Gusubira mu vyagezwe
27 Maze Musa, ari kumwe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, abandanya gutegeka abantu ati: “Haze hubahirizwe ibwirizwa ryose ndabategetse uno musi+. 2 Kandi umusi muzojabuka Yorodani+ mwinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, uze wishingire amabuye maninimanini, uyasige ishwagara. 3 Uze uyandikeko amajambo yose y’iri tegeko+ niwamara kujabuka+, kugira winjire mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, igihugu gitemba amata n’ubuki, wisunze ivyo Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yakubwiye+. 4 Kandi nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+, nk’uko ndabategetse uno musi, uyasige ishwagara+. 5 Uze uhubakire igicaniro Yehova Imana yawe, igicaniro c’amabuye. Ntuze uyakozeko igikoresho c’icuma+. 6 Ico gicaniro ca Yehova Imana yawe uze ucubakishe amabuye ari uko yakabaye, uheze ugishikanireko Yehova Imana yawe amashikanwa aturirwa+. 7 Kandi utegerezwa gushikana ibimazi vy’ugusangira+, ubirire ng’aho+, kandi utegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yawe+. 8 Utegerezwa kwandika kuri ayo mabuye amajambo yose y’iri tegeko+, ku buryo asomeka neza+.”
9 Maze Musa n’abaherezi, Abalewi, babwira Isirayeli yose bati: “Cereza wumvirize, ewe Isirayeli. Uyu musi ucitse igisata ca Yehova Imana yawe+. 10 Kandi utegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe ugashitsa amabwirizwa yiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+ ndagutegetse uno musi.”
11 Nuko kuri uwo musi Musa abandanya gutegeka abantu ati: 12 “Aba ni bo bazohagarara ngo bahezagire abantu ku musozi Gerizimu+ nimwamara kujabuka Yorodani: Simeyoni na Lewi na Yuda na Isakari na Yozefu na Benyamini. 13 Aba na bo ni bo bazohagarara ku bwo gutanga umuvumo+ ku musozi Ebali+: Rubeni, Gadi na Asheri na Zebuloni, Dani na Nafutali. 14 Kandi Abalewi baze bishure, babwire abantu bose bo muri Isirayeli n’ijwi rirenga+, bati:
15 “‘Aravumwe umuntu akora igishusho c’ikibazano+ canke igishushanyo mu cuma gishongeshejwe+, ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, ikintu gikozwe n’amaboko y’umuhinguzi w’ibiti n’ivyuma+, akagishira ahihishije.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen+!’)
16 “‘Aravumwe umuntu akengera se canke nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
17 “‘Aravumwe umuntu yigiza inyuma akarimbi ka mugenziwe+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
18 “‘Aravumwe umuntu azimiza impumyi mu nzira+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
19 “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
20 “‘Aravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba yambuye impuzu* se+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
21 “‘Aravumwe umuntu aryamana n’igikoko ico ari co cose+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
22 “‘Aravumwe umuntu aryamana na mushikiwe, umukobwa wa se canke wa nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
23 “‘Aravumwe umuntu aryamana na inabukwe+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
24 “‘Aravumwe umuntu akubita mugenziwe agapfa yabanje kumwinyegeza+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
25 “‘Aravumwe umuntu yemera igiturire kugira akubite umuntu apfe, kandi ari amaraso y’intungane+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
26 “‘Aravumwe umuntu atazoshira mu ngiro amajambo y’iri tegeko mu kuyashitsa+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)