Guharura
21 Umwami wa Aradi+, Umunyakanani yaba i Negebu, yumvise ko Abisirayeli bari bazananye inzira y’i Atarimu, aca aja kubatera, agira imbohe bakeyi muri bo. 2 Abisirayeli baca basezeranira Yehova bati: «Niwadufasha gutsinda aba bantu, ibisagara vyabo tuzobitikiza ata gisivya.» 3 Yehova aca yemera ivyo Abisirayeli bamusavye, abafasha gutsinda Abanyakanani. Baca barabatikiza hamwe n’ibisagara vyabo. Ni co gituma aho hantu bahise Horuma*+.
4 Nuko babandanya urugendo bavuye ku musozi Hori+, bajana inzira yerekeza ku kiyaga Gitukura kugira bakwepe igihugu ca Edomu+. Abantu rero batangura kuruha kubera urugendo. 5 Baguma bidogera Imana na Musa+, bavuga ngo: «Mbega mwadukuye mu Misiri kugira dupfire muri ubu bugaragwa? Nta vyo kurya n’amazi bihari+, kandi n’uyu mukate ugayitse usigaye udushisha+.» 6 Yehova aca abarungikamwo inzoka z’ubumara*. Ziguma zibakomora ku buryo Abisirayeli benshi bapfa+.
7 Abantu baca baza aho Musa ari, bamubwira bati: «Twacumuye kuko twidodombeye Yehova na wewe+. Takambira Yehova adukurireho izi nzoka.» Musa aca atakambira Imana+. 8 Maze Yehova amubwira ati: «Kora igishusho c’inzoka y’ubumara isa n’izo hanyuma ukimanike ku giti. Inzoka rero niyakomora umuntu, azoca araba kuri ico gishusho kugira ntapfe.» 9 Ubwo nyene Musa aca akora inzoka y’umujumpu+ ayimanika ku giti+. Igihe cose inzoka ikomoye umuntu agaca araba iyo nzoka y’umujumpu, ntiyaba agipfuye+.
10 Hanyuma Abisirayeli baragenda maze bakambika i Oboti+. 11 Bava i Oboti maze bakambika ahitwa Iye-Abarimu+ mu bugaragwa burabana n’i Mowabu, amaja mu buseruko. 12 Bava ng’aho maze bakambika hafi y’umwonga* wa Zeredi+. 13 Hanyuma bava ng’aho bakambika mu karere ka Arunoni+ kari mu bugaragwa butangurira ku rubibe rw’Abamori. Arunoni ni rwo rubibe rutandukanya Abanyamowabu n’Abamori. 14 Ni co gituma igitabu c’Intambara za Yehova kivuga ivyerekeye «Vahebu mu karere ka Sufa n’imibande* ya Arunoni, 15 be n’umumanuko w’imibande ugenda werekeza mu gisagara ca Ari, ugashika ku rubibe rwa Mowabu.»
16 Mu nyuma bagenda i Beri. Aho ni ho hari iriba kandi ni ho Yehova yabwiriye Musa ati: «Koranya abantu ndabahe amazi.»
17 Ico gihe ni ho Abisirayeli baririmba bati:
«Dudubiza wa riba we! (Nimwitabire*!)
18 Iriba ryimbwe n’abaganwa, iry’abanyacubahiro bimvye,
bakoresheje inkoni ya kizigenza, bakoresheje inkoni zabo.»
Hanyuma bava mu bugaragwa baja i Matana. 19 Baca bava i Matana baja i Nahaliyeli, hanyuma bava i Nahaliyeli baja i Bamoti+. 20 Mu nyuma bava i Bamoti baja mu mubande uri mu karere ka Mowabu+, kw’isonga ry’umusozi Pisiga+ urabana n’i Yeshimoni*+.
21 Abisirayeli rero barungika intumwa kubwira Sihoni umwami w’Abamori bati+: 22 «Tureke duce mu gihugu cawe. Ntituzokatira mu mirima yanyu canke mu mizabibu yanyu, kandi nta mazi yo mu binogo vyanyu tuzonywa. Tuzojana ibarabara ry’umwami gushika turenganye akarere kawe+.» 23 Ariko Sihoni ntiyemerera Abisirayeli guca mu karere kiwe. Aca akoranya igisoda ciwe cose aja kubatera mu bugaragwa. Ashitse i Yahazi, aca atangura kurwana na bo+. 24 Ariko Abisirayeli baramutsinda, bicisha inkota+ abasoda biwe. Baca bigarurira igihugu ciwe+ kuva ku mubande wa Arunoni+ gushika ku mwonga wa Yaboki+, hafi y’Abamoni. Mugabo ntibarenganye i Yazeri+, kuko Yazeri yahana urubibe n’akarere k’Abamoni+.
25 Abisirayeli rero bigarurira ivyo bisagara vyose, batangura kuba mu bisagara vyose vy’Abamori+, harimwo na Heshiboni n’udusagara tuhegukira*. 26 Heshiboni cari igisagara ca Sihoni umwami w’Abamori. Sihoni yari yararwanye n’umwami wa Mowabu maze yigarurira igihugu ciwe cose gushika ku mubande wa Arunoni. 27 Aho ni ho havuye iyi mvugo y’agahemo ngo:
«Nimuze i Heshiboni!
Igisagara ca Sihoni nicubakwe, gikomere cane!
28 Kuko umuriro wavuye i Heshiboni, urubeya rukava mu gisagara ca Sihoni.
Rwarayogeje Ari h’i Mowabu, abatware bo mu misozi y’i Arunoni.
29 Ewe Mowabu uragowe! Murayogeye bantu ba Kemoshi+!
Abahungu biwe abagira* impunzi, abakobwa biwe akabagira imbohe za Sihoni umwami w’Abamori.
30 Reka tubarase imyampi.
Heshiboni hazotikira gushika i Diboni+.
Reka tuhageseze gushika i Nofahi.
Umuriro uzorandagata gushika i Medeba+.»
31 Abisirayeli rero batangura kuba mu gihugu c’Abamori. 32 Maze Musa atuma abantu gusuma urusaku* i Yazeri+. Nuko Abisirayeli bigarurira udusagara tuhegukira, baraheza birukana Abamori babayo. 33 Baca basubira inyuma badugana inzira ija i Bashani. Ogi+ umwami wa Bashani aca azanana n’ingabo ziwe zose, aja kubatera i Edireyi+. 34 Yehova aca abwira Musa ati: «Ntumutinye+. Nzogufasha kumutsinda n’ingabo ziwe nongere ndaguhe igihugu ciwe+. Uzomugira nk’uko wagize Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni+.» 35 Nuko bamwicana n’abahungu biwe n’ingabo ziwe zose, gushika aho ata n’umwe asigara+. Baraheza bigarurira igihugu ciwe+.