Hoseya
9 “Ntunezerwe, ewe Isirayeli+! Ntugire umunezero nk’ibisata vy’abantu+. Kuko ubusambanyi bwatumye uva iruhande y’Imana yawe+. Wakunze ingabirano ugererwa ku mbuga z’ikubitiro zose bakubitirako intete+. 2 Imbuga y’ikubitiro n’uruganiro rw’umuvinyu ntibibagaburira+, kandi umuvinyu usosa uramuhemukira+. 3 Ntibazobandanya kuba mu gihugu ca Yehova+, kandi Efurayimu azosubira koko mu Misiri+, kandi muri Ashuri bazorya ibihumanye+. 4 Ntibazobandanya gusukira umuvinyu Yehova+. Kandi ibimazi vyabo ntibizomuhimbara+; bibabera nk’umukate wo mu bihe vy’ikigandaro+; abazowurya bose bazokwihumanya. Kuko umukate wabo ari uwabo bwite; ntuzokwinjira mu nzu ya Yehova+. 5 Muzokora iki ku musi w’ikoraniro no ku musi mukuru wa Yehova+? 6 Kuko raba, bazogenda kubera igihugu kizoba kinyazwe+. Misiri izobegeranya+; Memfisi+ izobahamba. Nayo ibintu vyabo bihimbaye vy’ifeza, ibisuru bizovyigarurira+; ibisaka vy’amahwa bizomera mu mahema yabo+.
7 “Imisi y’ukwihweza ivyabo izoza ata kabuza+; emwe, imisi y’uguhabwa impembo ikwiriye izoza+. Abo muri Isirayeli bazobimenya+. Umuhanuzi azoba igipfu+, umugabo w’amajambo y’amahumekano azosara kubera ubwinshi bw’ikosa ryawe+, egome, kubera akazikira ari kenshi.”
8 Inderetsi+ ya Efurayimu yari kumwe n’Imana yanje+. Ariko ku bijanye n’umuhanuzi+, hari umutego w’umutezi w’inyoni mu nzira ziwe zose+; hari akazikira mu nzu y’Imana yiwe. 9 Baradwibiye mu vyonona+, nko mu misi ya Gibeya+. Azokwibuka ikosa ryabo+; azobahanira ibicumuro vyabo.
10 “Nubutse kuri Isirayeli nk’uwubutse ku nzabibu mu gahinga+. Nabonye ba sogokuruza banyu nk’uwubonye insukoni ya kare ku giti c’umusukoni kigitangura kwama+. Bo bagiye kuri Bayali y’i Peyori+, biyegurira ico kintu c’akamaramaza+, maze baba abasesemye nk’ico kintu bakunda+. 11 Nayo Efurayimu, ubuninahazwa bwabo buguruka nk’ikiremwa kiguruka+, ku buryo ata kwibaruka kubaho, canke inda yibungenze canke agasamo+. 12 Kuko naho barera abana babo, nzobahekura ntihagire umuntu asigara+; kuko . . ., emwe, bazoba bigorewe ninabaheba+! 13 Efurayimu, uwo nabonye nka Tiro itewe mw’itongo ry’uburagiriro+, egome, Efurayimu azosohora koko abana biwe abajane aho umwicanyi ari+.”
14 Ewe Yehova, nubahe ico ubwirizwa kubaha+. Nubahe igitereko gikorora inda+ be n’amabere akabirana.
15 “Ububisha bwabo bwose bwari i Gilugali+, kuko aho ari ho vyabaye ngombwa ko ndabankira+. Kubera ububi bw’ibikorwa vyabo nzobirukana mu nzu yanje+. Sinzobandanya kubakunda+. Abaganwa babo bose ni intagondwa+. 16 Efurayimu izotsindwa hasi ata kabuza+. Emwe, umuzi wabo uzokwuma+. Nta vyamwa bazokwama+. Vyongeye, nibavyara, nzokwica koko ibihimbaye vy’inda yabo+.”
17 Imana yanje+ izobashibura, kuko batayumvirije+, kandi bazoba impunzi mu mahanga+.