Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi. Igihe Natani umuhanuzi yinjira iwe inyuma y’aho aryamaniye na Bati-sheba+.
51 Ngirira ubutoni, ewe Mana, nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri+.
Nuhanagure ibigabitanyo vyanje nk’uko ubwinshi bw’imbabazi zawe buri+.
2 Nunyoze rwose unkureko ikosa ryanje+,
Umpumanure igicumuro canje+.
3 Kuko ibigabitanyo vyanje jewe ndabizi+,
Kandi igicumuro canje cama imbere yanje+.
4 Ni wewe nacumuyeko, wewe wenyene+,
Kandi nakoze ibibi mu maso yawe+,
Kugira ngo uboneke ko ugororotse igihe uvuga+,
Kugira ngo uboneke ko wera igihe uca urubanza+.
5 Raba! Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka+,
Kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro+.
6 Raba! Wahimbawe n’ukuri imbere mu muntu+;
Kandi imbere muri jewe, umenyeshe ubukerebutsi+.
7 Ese wontyorora igicumuro ukoresheje ezobu, nkaba uwudahumanye+;
Ese wonyoza, nkera mbere kurusha shelegi+.
8 Ese wonyumvisha ijwi ry’umwigino n’umunezero+,
Kugira ngo amagufa wajanjaguye agire akanyamuneza+.
9 Hisha mu maso hawe ibicumuro vyanje+,
Uhanagure mbere amakosa yanje yose+.
10 Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana+,
Ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye+.
11 Ntunshibure ngo mve imbere y’amaso yawe+;
Kandi impwemu nyeranda yawe, yoo! ntuyinkureko+!
12 Nunsubize umwigino w’ubukiriro bwawe+,
Kandi unshigikize umutima ukunze+.
13 Nzokwigisha inzira zawe abagabitanya+,
Kugira ngo abacumuzi bagaruke koko kuri wewe+.
14 Nundokore unkize ukwagirwa n’amaraso+, ewe Mana, Mana y’ubukiriro bwanje+,
Kugira ngo ururimi rwanje ruvugane umunezero ubugororotsi bwawe+.
15 Ewe Yehova, ese woteranura iyi minwa yanje+,
Kugira ngo akanwa kanje kamenyeshe ishemezo ryawe+.
16 Kuko udahimbarwa n’ikimazi, ahandiho nari kugitanga+;
Ntuhimbarwa n’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+.
17 Ibimazi bihabwa Imana ni umutima umenaguritse+;
Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura+.
18 Mu butoni bwawe, girira neza Siyoni+;
Ese wokwubaka impome za Yeruzalemu+.
19 Ni ho uzohimbarwa n’ibimazi vy’ubugororotsi+,
N’ikimazi giturirwa, be n’ishikanwa ritangwa uko ryakabaye+;
Ni ho amashūri azoshikanirwa ku gicaniro cawe+.