ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Esiteri 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Esiteri: ibirimwo

      • Umwami aduza igiti Hamani (1-4)

      • Umugambi wa Hamani wo guhonya Abayuda (5-15)

Esiteri 3:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 3:10; 8:7; 9:24
  • +Kv 17:16; Gh 24:7; Gus 25:19; 1Sm 15:8, 32
  • +Est 1:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 130-131

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 21

Esiteri 3:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 130-131

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 21

    1/3/2006, rup. 9

Esiteri 3:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Dn 6:13
  • +Est 2:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2006, rup. 10

Esiteri 3:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 5:9

Esiteri 3:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gushorera ukuboko kuri Morudekayi.»

Esiteri 3:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B15.

  • *

    Raba Inyongera ya B15.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 1:3; 2:16
  • +Est 9:24
  • +Est 9:1

Esiteri 3:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:27; Neh 1:8; Yr 50:17
  • +Est 1:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 131

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 21

Esiteri 3:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «nanje nzotanga italanto 10.000 z’ifeza zije mu kigega c’umwami kugira zihabwe abazokora ico gikorwa.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 131

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 21

Esiteri 3:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 41:42
  • +Est 3:1; 8:2
  • +Gh 24:7; 1Sm 15:8, 32

Esiteri 3:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Zishobora kuba ari ifeza yari gusahura Abayuda.

Esiteri 3:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu ndome zayo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 8:9
  • +Dn 6:8
  • +Est 8:8; Dn 6:17

Esiteri 3:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 9:1
  • +Est 8:11, 12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 131-132

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 21-22

Esiteri 3:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

  • *

    Canke «Suza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Est 8:14
  • +Ezr 4:9; Neh 1:1; Dn 8:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwigane, rup. 131-132

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2011, rup. 21-22

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Est. 3:1Est 3:10; 8:7; 9:24
Est. 3:1Kv 17:16; Gh 24:7; Gus 25:19; 1Sm 15:8, 32
Est. 3:1Est 1:14
Est. 3:4Dn 6:13
Est. 3:4Est 2:5
Est. 3:5Est 5:9
Est. 3:7Est 1:3; 2:16
Est. 3:7Est 9:24
Est. 3:7Est 9:1
Est. 3:8Gus 4:27; Neh 1:8; Yr 50:17
Est. 3:8Est 1:1
Est. 3:10It 41:42
Est. 3:10Est 3:1; 8:2
Est. 3:10Gh 24:7; 1Sm 15:8, 32
Est. 3:12Est 8:9
Est. 3:12Dn 6:8
Est. 3:12Est 8:8; Dn 6:17
Est. 3:13Est 9:1
Est. 3:13Est 8:11, 12
Est. 3:15Est 8:14
Est. 3:15Ezr 4:9; Neh 1:1; Dn 8:2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Esiteri 3:1-15

Esiteri

3 Inyuma y’ivyo, umwami Ahasuwerusi aduza igiti Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amuha ubukuru* buruta ubw’abandi batware bagenziwe bose+. 2 Abakorera umwami bose kw’irembo ry’i bwami baza barunamira Hamani bagashika hasi, kuko ari vyo umwami yari yategetse. Mugabo Morudekayi we, ntiyamwunamira canke ngo amwikubite imbere. 3 Abo bakorera umwami bari kw’irembo ry’i bwami babwira Morudekayi bati: «Kubera iki urenga kw’itegeko ry’umwami?» 4 Ku musi ku musi barabimubaza ariko ntabumvirize. Baraheza babibwira Hamani kugira barabe ko azokwihanganira iyo nyifato ya Morudekayi+, kuko Morudekayi yari yarababwiye ko ari Umuyuda+.

5 Aho Hamani amariye kubona ko Morudekayi yanka kumwunamira no kumwikubita imbere, aca arashavura cane+. 6 Mugabo Hamani abona ko kwica Morudekayi* wenyene bidahagije, kuko bari bamubwiye ihanga avamwo. Atangura rero kurondera ingene yozimanganya Abayuda bose bari mu karere kose Ahasuwerusi atwara, ni ukuvuga abantu bose bo mw’ihanga Morudekayi avamwo.

7 Mu kwezi kwa mbere kwitwa Nisani*, mu mwaka ugira 12+ umwami Ahasuwerusi aganza, bagira Puri+ (ni ukuvuga ubupfindo) imbere ya Hamani kugira bamenye umusi n’ukwezi ivyo bizobera. Ubwo bupfindo bwaciye bugwa mu kwezi kwa 12 kwitwa Adari*+. 8 Hamani aca abwira umwami Ahasuwerusi ati: «Hari umugwi w’abantu bakwiragiye hirya no hino mu mahanga+ ari mu ntara zose zo mu karere utwara+. Amategeko yabo aratandukanye n’ay’ayandi mahanga yose, kandi ntibubaha amategeko y’umwami. Ntubareke ukwo mwami, kuko vyohava bikugirira nabi. 9 Nimba ubishimye mwami, nusohore itegeko ryanditse rivuga ko bahonywa. Nanje nzoheza mpe italanto* 10.000 z’ifeza abagukorera kugira bazishire mu kigega c’umwami*.»

10 Umwami aca yambura impeta y’ikidodo+ yari yambaye ku kuboko, ayiha Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, umwe yanka Abayuda. 11 Maze umwami abwira Hamani ati: «Ifeza* n’abantu urabihawe kugira ubikoreshe ico ushaka.» 12 Ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa mbere, abanyamabanga b’umwami+ baciye batumwako. Maze bandika amategeko+ yose Hamani yipfuza guha ivyegera vy’umwami, ba buramatari batwara intara zitandukanye n’abatware b’imigwi itandukanye y’abantu. Intara yose bayandikiye mu nyandiko yayo*, umugwi wose w’abantu bawandikira mu rurimi rwawo. Bavyanditse mw’izina ry’umwami Ahasuwerusi, bashirako n’ikidodo bakoresheje impeta y’umwami+.

13 Amakete banditse bayarungitse mu ntara zose umwami aganza, biciye ku batwara amakete. Ayo makete yatanga itegeko ryo kuzimanganya, kwica no guhonya Abayuda bose, yaba umuto canke umutama, umwana canke umugore. Bategerezwa kubica ku musi umwe, ni ukuvuga ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa 12 kwitwa Adari+, bakigarurira n’ibintu vyabo+. 14 Ibiri muri ayo makete vyagizwe itegeko mu ntara zose, bitangarizwa n’abantu bose kugira ngo bitegurire uwo musi. 15 Abatwara amakete baca bayatwara bihuta+ bisunze ivyo umwami yavuze. Iryo tegeko ryatangiwe ku kirimba* i Shushani*+. Umwami na Hamani baca baricara barinywera, mugabo igisagara ca Shushani cari mu ruhagarara.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika