ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ubuyuda burenga kw’isezerano bwagiranye n’Imana (1-17)

        • Imana nyinshi nk’ibisagara (13)

      • Yeremiya agereranywa n’umwagazi wo gukererwa (18-20)

      • Yeremiya arwanywa n’abantu b’aho avuka (21-23)

Yeremiya 11:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ashobora kuba ari Yeremiya ariko arabwirwa.

Yeremiya 11:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 27:26; 28:15

Yeremiya 11:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 24:3
  • +Kv 13:3; Gus 4:20
  • +Lw 26:3, 12

Yeremiya 11:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nibibe gutyo nyene.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:18; Kv 3:8; Lw 20:24; Gus 6:3

Yeremiya 11:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nkavyuka kare nkababurira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 7:13; 25:4; 35:15

Yeremiya 11:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 65:2; Yr 7:24, 26; Ezk 20:8; Zk 7:11, 12

Yeremiya 11:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «barazikorera.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 2:11, 17; 1Sm 8:8; 2Bm 22:17
  • +2Ng 28:22, 23
  • +Gus 31:16; 2Bm 17:6, 7; Hs 6:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2007, rup. 9

Yeremiya 11:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 22:16; Yr 6:19; Ezk 7:5
  • +Yes 1:15; Yr 14:12; Ezk 8:18; Mik 3:4

Yeremiya 11:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umwotsi w’ibimazi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:37, 38; Yr 2:28

Yeremiya 11:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ca kintu c’akamaramaza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 7:9, 10

Yeremiya 11:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga Yeremiya.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 7:16; 14:11

Yeremiya 11:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga Ubuyuda.

  • *

    Ni ukuvuga ibimazi batangira mu rusengero.

Yeremiya 11:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 5:2; Yr 2:21
  • +Yr 19:5, 15

Yeremiya 11:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 18:18

Yeremiya 11:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inyiyumvo z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 28:9; Yr 17:10; 20:12

Yeremiya 11:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:1
  • +Yes 30:10; Am 2:12; 7:16

Yeremiya 11:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:17; Int 2:21
  • +Yr 18:21

Yeremiya 11:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 21:8, 18

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 11:3Gus 27:26; 28:15
Yer. 11:4Kv 24:3
Yer. 11:4Kv 13:3; Gus 4:20
Yer. 11:4Lw 26:3, 12
Yer. 11:5It 15:18; Kv 3:8; Lw 20:24; Gus 6:3
Yer. 11:7Yr 7:13; 25:4; 35:15
Yer. 11:8Yes 65:2; Yr 7:24, 26; Ezk 20:8; Zk 7:11, 12
Yer. 11:10Abc 2:11, 17; 1Sm 8:8; 2Bm 22:17
Yer. 11:102Ng 28:22, 23
Yer. 11:10Gus 31:16; 2Bm 17:6, 7; Hs 6:7
Yer. 11:112Bm 22:16; Yr 6:19; Ezk 7:5
Yer. 11:11Yes 1:15; Yr 14:12; Ezk 8:18; Mik 3:4
Yer. 11:12Gus 32:37, 38; Yr 2:28
Yer. 11:13Yr 7:9, 10
Yer. 11:14Yr 7:16; 14:11
Yer. 11:17Yes 5:2; Yr 2:21
Yer. 11:17Yr 19:5, 15
Yer. 11:19Yr 18:18
Yer. 11:201Ng 28:9; Yr 17:10; 20:12
Yer. 11:21Yr 1:1
Yer. 11:21Yes 30:10; Am 2:12; 7:16
Yer. 11:222Ng 36:17; Int 2:21
Yer. 11:22Yr 18:21
Yer. 11:23Yos 21:8, 18
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 11:1-23

Yeremiya

11 Yehova yabwiye Yeremiya ati: 2 «Mwa bantu mwe, nimwumve ibiri muri iri sezerano!

Nubibwire* abagabo bo mu Buyuda n’abantu baba i Yeruzalemu. 3 Babwire uti: “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Aravumwe umuntu atubahiriza ibiri muri iri sezerano+, 4 ivyo nategetse ba sogokuruza banyu ku musi nabakura mu gihugu ca Misiri+, mw’ifuru ishongesha ivyuma+. Nababwiye nti: “Nimwumvire ijwi ryanje, mukore ibintu vyose ndabategeka. Muzoheza mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu+, 5 kugira ngo nshitse ivyo narahiye ba sogokuruza banyu, ko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubuki+, nk’uko biri uyu musi.”’”»

Nuko nishura nti: «Amen*, ewe Yehova!»

6 Yehova aca ambwira ati: «Tangaza aya majambo yose mu bisagara vyo mu Buyuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu uti: “Nimwumve ibiri muri iri sezerano, kandi mubishitse. 7 Kuko kuva ku musi nakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi nababuriye nshimitse, nkababurira incuro n’izindi* nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje+.’ 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi. Ahubwo umwe wese yagumye akurikira umutima wiwe mubi abigiranye akagagazo+. Ni co catumye ndabazanako ibintu vyose biri muri iri sezerano. Nari narabategetse kurikurikiza, banka kubikora.”»

9 Maze Yehova ambwira ati: «Abagabo bo mu Buyuda n’abantu baba i Yeruzalemu baragiye hamwe barangarariza. 10 Basubiye mu makosa nk’ayo ba sekuruza bari barakoze kera, bamwe banka kugamburuka ivyo nababwiye+. Na bo nyene bakurikiye izindi mana barazisenga*+. Abantu bo mw’ihanga rya Isirayeli no mu Buyuda bararenze kw’isezerano nagiranye na ba sekuruza babo+. 11 Yehova rero avuze ati: “Ngira ndabazaneko ivyago+ batazoshobora guhunga. Nibantabaza sinzobumviriza+. 12 Abo mu bisagara vyo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu bazoca baja gutabaza imana basanzwe bashikanira ibimazi*+, ariko ntizizogenda zibarokoye mu vyago barimwo. 13 Kuko imana zawe zisigaye ari nyinshi nk’ibisagara vyawe, ewe Buyuda, kandi ya mana y’akamaramaza* Bayali mwayubakiye ibicaniro vyinshi bingana n’amabarabara y’i Yeruzalemu, ibicaniro vyo kuyishikanirako ibimazi+.”

14 Nayo wewe*, ntusengere aba bantu. Ntuntakambire ubasabira canke ngo ubasengere+, kuko ntazoba ndiko ndumviriza nibantakambira kubera ivyago barimwo.

15 Abantu banje nkunda cane, bubahuka gute kuza mu nzu yanje

kandi benshi muri bo bakora imigambi mibi?

Mbega ivyago nivyakuzako*, boba bazobizibira mu gushikana inyama nyeranda*?

Ico gihe woba uzokwigina?

16 Yehova yahora akwita igiti c’umwelayo gitotahaye,

ciza cama ivyamwa vyiza.

Yaratontomye bimwe bikaze aragiturira,

bavunagura amashami yaco.

17 Yehova Nyeningabo, we Murimyi yaguteye+, yavuze ko ivyago bizogushikira kubera ibibi vyakozwe n’ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda. Barambabaje mu gushikanira ibimazi Bayali+.»

18 Yehova yarabimenyesheje kugira ndabimenye.

Ico gihe waranyeretse ivyo bariko barakora.

19 Nari meze nk’umwagazi w’intama utekereje, ujanywe gukererwa.

Sinari nzi ko bagomba kungirira nabi+.

Bavuga bati: «Nimuze duhonye igiti n’ivyamwa vyaco.

Nimuze tumurandure mu gihugu c’abazima,

kugira ngo izina ryiwe ntirizosubire kwibukwa.»

20 Mugabo Yehova Nyeningabo aca urubanza mu bugororotsi.

Asuzuma ivyiyumviro biri ibwina* hamwe n’umutima+.

Ese nobona ukuntu ubihora,

kuko ari wewe nashikirije imburano zanje.

21 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bantu b’i Anatoti+ barondera kukwica, bakavuga bati: «Ntukavuge ubuhanuzi mw’izina rya Yehova+, ahandiho tuzokwica.» 22 Yehova Nyeningabo rero avuze ati: «Ngira ndabahane. Imisore izokwicwa n’inkota+, abahungu babo n’abakobwa babo bicwe n’inzara+. 23 Nta n’umwe muri bo azosigara, kubera nzozana ivyago ku bantu b’i Anatoti, umwaka nzobahana+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika