2 Ngoma
12 Nuko ingoma ya Rehobowamu ikimara gushimangirwa+ na we agakomera, aheba itegeko rya Yehova+, na Isirayeli yose+ yifatanya na we. 2 Maze mu mwaka ugira gatanu w’Umwami Rehobowamu+, Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu (kuko bari bahemukiye Yehova+), 3 ari kumwe n’imikogote+ igihumbi n’amajana abiri n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongo itandatu; abantu bazananye na we bavuye mu Misiri, ni ukuvuga Abanyalibiya+, Abasukiyimu n’Abanyetiyopiya+, ntibaharurika+. 4 Nuko afata ibisagara bikingijwe ibihome vyegukira Yuda+, amaherezo ashika i Yeruzalemu+.
5 Nayo Shemaya+ umuhanuzi, aza kuri Rehobowamu no ku baganwa ba Yuda bari bakoraniye i Yeruzalemu kubera Shishaki, ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Mwebwe mwarampevye+, nanje rero ndabahebeye+ mu kuboko kwa Shishaki.’” 6 Abaganwa ba Isirayeli n’umwami baca bicisha bugufi+, bavuga bati: “Yehova aragororotse+.” 7 Yehova abonye+ ko bicishije bugufi, ijambo rya Yehova riza kuri Shemaya+ riti: “Bicishije bugufi+. Sinzobahonya; mu kanya gatoyi ndabakiza, kandi ubushangashirwe bwanje ntibuzorindimukira kuri Yeruzalemu biciye ku kuboko kwa Shishaki+. 8 Mugabo bazoba abasuku biwe+, kugira ngo bamenye itandukaniro hagati y’igikorwa canje+ n’igikorwa c’ubwami bw’ibihugu+.”
9 Nuko Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu maze atwara amatunga y’inzu ya Yehova+ n’amatunga y’inzu y’umwami+. Atwara ikintu cose; gutyo atwara za nkinzo z’inzahabu Salomo yari yarakoze+. 10 Umwami Rehobowamu akora rero mu kibanza cazo inkinzo z’umujumpu, maze azizeza abakuru b’abirutsi+, abarinzi+ b’ubwinjiriro bw’inzu y’umwami+. 11 Igihe cose umwami yaba aje ku nzu ya Yehova, nya birutsi barinjira, bakazitora bakazijana, mu nyuma bakazisubiza mu cumba c’irindiro c’abirutsi+. 12 Kubera ko yicishije bugufi, ishavu rya Yehova risubira inyuma rimuvako+, ntiyiyumvira ivyo kubahonya buhere+. Bisubiye, haba ibintu vyiza muri Yuda+.
13 Nuko Umwami Rehobowamu abandanya gukomeza ikibanza ciwe i Yeruzalemu, aguma aganza; kuko Rehobowamu+ yari afise imyaka mirongo ine n’umwe igihe yatangura kuganza, amara imyaka cumi n’indwi aganza i Yeruzalemu, igisagara+ Yehova yari yaratoye mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo ahashire izina ryiwe+. Nyina yitwa Nayama+ Umwamonikazi+. 14 Mugabo akora ivyari bibi+, kuko atari yarashimangiye umutima wiwe ngo arondere Yehova+.
15 Nayo ivya Rehobowamu, ivya mbere n’ivya nyuma+, none ntivyanditswe mu majambo ya Shemaya+ umuhanuzi n’aya Ido+ umubonyi hakurikijwe iyandikwa rifatiye ku mamuko? Kandi hama intambara hagati ya Rehobowamu+ na Yerobowamu+ igihe cose. 16 Amaherezo Rehobowamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe+ hanyuma ahambwa mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Abiya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.