ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 2 Timoteyo 1:1-4:22
  • 2 Timoteyo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Timoteyo
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
2 Timoteyo

Ikete rya Kabiri ryandikiwe Timoteyo

1 Jewe Paulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+ nk’uko umuhango w’ubuzima+ buboneka mu bumwe na Kristu Yezu uri+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje w’umukundwa+:

Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.

3 Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda+ nka ba sogokuruza banje+ mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye+, kubona ntahengeshanya kukwibuka mu ntakambo zanje+, ijoro n’umurango 4 nkama ncambirwa kukubona+, iyo nibutse amosozi yawe, kugira ngo nuzure akanyamuneza. 5 Kuko nibuka ukwizera+ kuri muri wewe kutagira ubwiyorobetsi+, kandi kwabanje kuba muri nyogokuru wawe Loyisi no muri nyoko wawe Ewunise, mugabo nkaba nzi ntakeka ko kuri no muri wewe.

6 Ico nyene ni co gitumye ndakwibutsa gukabura nk’umuriro+ ingabirano+ y’Imana iri muri wewe biciye mu kukurambikako ibiganza vyanje+. 7 Kuko Imana itaduhaye impwemu y’ubwoba+, ahubwo iy’ububasha+ n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi+. 8 Ntuterwe isoni rero n’intahe yerekeye Umukama wacu+, canke ngo uziterwe na jewe uwabaye imbohe ku bwiwe+, ahubwo wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro+ ku bw’inkuru nziza nk’uko ububasha bw’Imana buri+. 9 Yaradukijije+ yongera iduhamagaza ihamagara ryeranda+, bitavanye n’ibikorwa vyacu+, ahubwo bivanye n’intumbero yayo be n’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo. Ivyo twarabihawe mu bijanye na Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane+, 10 ariko ubu vyarerekanywe neza biciye ku kwigaragaza+ kw’Umukiza wacu Kristu Yezu, uwakuyeho urupfu+ mugabo akarasira umuco+ ku buzima+ no ku kutabora+ biciye ku nkuru nziza+, 11 iyo nagenewe kuba umwamamaji n’intumwa n’umwigisha+.

12 Ico ni co gituma nanje ndiko nshikirwa+ n’ivyo bintu, ariko ntibintera isoni+. Kuko nzi uwo nemeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda+ ico namubikije gushika kuri wa musi+. 13 Ugumye ca citegererezo c’amajambo ngirakamaro*+ wanyumvanye hamwe n’ukwizera n’urukundo bijanye na Kristu Yezu+. 14 Iyo mbitso nziza+ uyirinde biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe+.

15 Ibi urabizi, yuko abantu bose mu ntara ya Aziya+ bampevye+. Muri abo harimwo Figelo na Herumojene. 16 Umukama agirire imbabazi urugo rwa Onesiforo+, kuko kenshi yanduhuye+, kandi ntiyatewe isoni n’imvuto zanje+. 17 Ahubwo igihe yashika i Roma, yarandondeye n’umwete, arantora+. 18 Umukama amuhe kugirirwa imbabazi+ imbere ya Yehova kuri wa musi+. Kandi ibikorwa vyose yakoze i Efeso urabizi neza bihagije.

2 Wewe rero, mwananje+, guma wironsa ububasha+ mu buntu ata wari abukwiriye+ bujanye na Kristu Yezu, 2 kandi ibintu wanyumvanye bishigikiwe n’ivyabona vyinshi+, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi+. 3 Bwa musoda mwiza+ wa Kristu Yezu, wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro+. 4 Nta muntu akora nk’umusoda+ aja mu vy’urucuruza vyo mu buzima+, kugira ngo ashimwe n’uwamwanditse ngo abe umusoda. 5 Vyongeye, mbere n’uwuhiganwa mu nkino+ ntiyambikwa urugori kiretse yahiganywe akurikije amategeko. 6 Umurimyi akora cane ni we ategerezwa kuba uwa mbere mu kuronka ku vyeze+. 7 Ugume uzirikana ku vyo mvuga; Umukama azoguha vy’ukuri ugutahura+ muri vyose.

8 Wibuke ko Yezu Kristu yazuwe mu bapfuye+ kandi ko yari uwo mu ruvyaro* rwa Dawidi+, nk’uko inkuru nziza namamaza iri+; 9 ku bwayo ndiko nihanganira imibabaro kugeza no ku mvuto+ nk’inkozi y’ikibi. Yamara rero, ijambo ry’Imana ntiriboshwe+. 10 Kubera ico, mbandanya kwihanganira ibintu vyose ku bw’abatowe+, ngo na bo baronke ubukiriro buboneka mu bumwe na Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa budahera+. 11 Iri jambo ni iryo kwizigirwa+: Mu vy’ukuri nimba twarapfanye na we, tuzobanaho kandi na we+; 12 nitwabandanya kwihangana, tuzoganzanya kandi na we+; nitwamwihakana+, na we azotwihakana; 13 nimba turi abatizigirwa, we aguma ari umwizigirwa+, kuko adashobora kwihakana we nyene.

14 Guma ubibutsa+ ibi bintu, ubategeke+ imbere y’Imana nka yo cabona+, kutarwana bapfa amajambo+, kikaba ari ikintu ata na kimwe kimaze, kuko conona abumviriza. 15 Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe+, umukozi+ atagira ikimutetereza+, akoresha neza ijambo ry’ukuri+. 16 Mugabo uzibukire amajambo ata co arimwo asiga iceyi ibintu vyeranda+; kuko bazogenda barushiriza kutibanga Imana+, 17 kandi ijambo ryabo rizorandagata nk’igisebe kiboze+. Muri abo harimwo Himenayo na Fileto+. 18 Abo bantu nyene barataye ukuri+, bavuga ko izuka rimaze kuba+; kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe+. 19 Ariko umushinge ukomeye w’Imana uguma uhagaze+, uriko iki kidodo, ngo: “Yehova arazi abiwe+,” kandi ngo: “Umuntu wese avuga izina rya Yehova+ avavanure n’ibitagororotse+.”

20 Mu nzu nini rero ntihabamwo gusa ivyombo vy’inzahabu n’ifeza, mugabo harabamwo n’ivy’ibiti n’ivy’ivu, bimwe bigakoreshwa ibiteye iteka mugabo ibindi bigakoreshwa ibitagira iteka+. 21 Umuntu rero niyitandukanya n’ivyo vya kabiri, azoba icombo gikoreshwa ibiteye iteka, cejejwe, c’ingirakamaro kuri nyeneco, giteguriwe igikorwa ciza cose+. 22 Hunga rero ivyipfuzo bijana n’ubuto+, mugabo ukurikirane ubugororotsi+, ukwizera, urukundo, amahoro+, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye+.

23 Bitayeko, wamirire kure ibibazo vy’ubupfu+ kandi vy’ukutamenya, uzi yuko bivamwo indwano+. 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana+, ahubwo abwirizwa kuba umuntu yengenga kuri bose+, ashoboye kwigisha+, akaguma yiyumanganije mu mibabaro+, 25 akigisha mu bwitonzi abafise agatima katabereye+; kuko kumbure Imana yobaha ukwigaya+ gushikana ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+, 26 bakagarura ubwenge bakava mu mutego+ wa Shetani*, kubera ko bafashwe na we ari bazima+ ku bw’ukugomba kw’uyo.

3 Mugabo umenye ibi: yuko mu misi ya nyuma+ hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira+. 2 Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+, 3 batiyumvamwo ababo+, badashaka kwumvikana na gato+, abambika ibara abandi+, batagira ukwigumya, inkazi+, badakunda iciza+, 4 abaguranyi+, intumva, abivyimvya+, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana+, 5 bafise ishusho y’ukwihebera Imana+ mugabo bakihakana ububasha bwakwo+; abo rero ubace kure+. 6 Kuko muri abo ari ho hava ba bantu bacengetera ku rwenge mu ngo+ bagatwara nk’imbohe zabo abagore bagoyagoya baremerewe n’ibicumuro, batwarwa n’ivyipfuzo bitari bimwe+, 7 bama biga yamara ntibigere bashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri+.

8 Nka kumwe rero Yane na Yambure+ barwanya Musa, ni ko n’abo nyene babandanya kurwanya ukuri+, abantu bononekaye rwose mu muzirikanyi+, batemewe ku bijanye n’ukwizera+. 9 Yamara rero, ntibazorenga aho, kuko ubusazi bwabo buzokwibonekeza cane kuri bose, nk’uko n’ubusazi bw’abo bantu babiri bwibonekeje+. 10 Mugabo wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingendo yanje y’ubuzima+, intumbero yanje, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje, 11 uguhamwa kwanje, imibabaro yanje, mwene vya bintu vyanshikira i Antiyokiya+, muri Ikoniyo+, i Lusitira+, mwene rwa ruhamo nihanganira; yamara vyose Umukama yarandokoye abinkuramwo+. 12 Nkako, abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa+. 13 Mugabo abantu b’ababisha be n’abahumvyi bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa+.

14 Ariko weho, ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera+, uzi ababikwigishije abo ari bo+ 15 be n’uko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda, ibishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro+ biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu+. 16 Icanditswe cose cahumetswe n’Imana+ kandi ni ngirakamaro ku kwigisha+, ku gukangīra+, ku kugorora ibintu+, ku gutoza indero+ mu bugororotsi, 17 ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza+, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose+.

4 Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu, umwe abwirizwa kuzocira imanza+ abazima n’abapfuye+, kandi biciye ku kwigaragaza kwiwe+ n’ubwami bwiwe+, 2 wamamaze rya jambo+, uvyihatire mu gihe ciza+, mu gihe kigoye+, ukangire+, ukankamire, uhimirize, mu kwiyumanganya kwose+ n’ubuhanga bwo kwigisha. 3 Kuko hazoshika igihe aho batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro+, mugabo nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri, bazokwirundaniriza abigisha kugira ngo amatwi yabo yagazwe+; 4 kandi bazokwica amatwi ngo ntibumve ukuri, bakeberezwe ku nkuru z’ikinyoma+. 5 Ariko weho, uzigame ubwenge bwawe+ muri vyose, wihanganire imibabaro+, ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili+, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse+.

6 Kuko ubu ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+, kandi igihe c’ukubohorwa kwanje+ kirashitse. 7 Nararwanye ya ndwano nziza+, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo+, naragumije ukwizera+. 8 Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi+, urwo Umukama, wa mucamanza agororotse+, azompa bwa mpembo+ kuri wa musi+, yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwigaragaza kwiwe.

9 Kora uko ushoboye kwose uze aho ndi vuba+. 10 Kuko Dema+ yantaye kubera yuko yakunze ivy’iki gihe*+ akaja i Tesalonika; Keresansi yagiye i Galatiya+, Tito i Dalumatiya. 11 Luka wenyene ni we ari kumwe nanje. Hitana Mariko muzanane, kuko ambera kirumara+ ku bw’igikorwa c’ubusuku. 12 Mugabo Tikiko+ namutumye i Efeso. 13 Niwaza, uzane ca gikwemu nasigira Karupo i Tirowa+, na ya mizingo y’ibitabu, canecane iyo mu nsato.

14 Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+— 15 kandi nawe umwiyubare, kuko yarwanije amajambo yacu bimwe bikabije.

16 Mu kwiburanira kwanje kwa mbere nta n’umwe yagiye ku ruhande rwanje, mugabo bose barantaye+—ivyo ntibabiharurweko+— 17 mugabo Umukama yahagaze hafi yanje+ anshiramwo ububasha+, kugira ngo biciye kuri jewe igikorwa c’ukwamamaza kirangurwe bimwe bishitse kandi amahanga yose acumve+; kandi nararokowe mu kanwa k’intambwe+. 18 Umukama azondokora mu gikorwa cose c’ububisha+ yongere ankize ku bw’ubwami bwiwe bwo mw’ijuru+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe bitazoshira. Amen.

19 Undamukirize Pirisika+ na Akwila be n’urugo rwa Onesiforo+.

20 Erasito+ yagumye i Korinto+, mugabo nasize Tirofimo+ i Mileto+ arwaye. 21 Ukore uko ushoboye kwose ushike imbere y’urushana.

Ewubulo arakuramutsa, na Pudensi na Lino na Kolodiya na bene wacu bose.

22 Umukama abane n’agatima werekana+. Ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe bubane namwe.

Canke, “ntungamagara.”

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika