Ikete rya Mbere ryandikiwe Timoteyo
1 Jewe Paulo, intumwa+ ya Kristu Yezu kw’itegeko ry’Imana+ Umukiza wacu+ n’irya Kristu Yezu, we cizigiro cacu+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo+, umwana wanje+ nyakuri mu kwizera:
Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.
3 Nk’uko nakuremesheje kuguma i Efeso igihe nagira nje i Makedoniya+, n’ubu ni ko ngize, ngo utegeke+ bamwebamwe kutigisha izindi nyigisho+, 4 no kutumviriza inkuru z’ikinyoma+ be n’ivy’amamuko, ata co bivamwo+, mugabo bigatanga ibibazo vyo kugirira ubushakashatsi aho kuvamwo itangwa ry’ikintu cose kiva ku Mana mu bijanye n’ukwizera. 5 Mu vy’ukuri intumbero y’iryo bwirizwa ni urukundo+ ruva ku mutima udahumanye+ no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza+ be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi+. 6 Bamwebamwe bataye ivyo bintu barakevya+ baja ku biyago bitagira mvura+, 7 bagashaka kuba abigisha+ b’itegeko+, mugabo badatahura ivyo bavuga canke ivyo bemeza bashimitse.
8 Turazi rero yuko Itegeko ari ryiza+, iyo umuntu arikoresheje ku mategeko+ 9 azi iki kintu: yuko itegeko ridashirirwaho umuntu w’umugororotsi, ahubwo ko rishirirwaho abantu b’abagarariji+ kandi b’ibigaba+, abatibanga Imana n’abacumuzi, badafise ubuntu bwuzuye urukundo+, batubaha ibintu vyeranda, abica ba se na ba nyina, n’abica abandi bantu, 10 abasambanyi+, abagabo baryamana n’ab’igitsina-gabo, abanyuruji, ababeshi, abarahira indahiro z’ikinyoma+, n’ibindi bintu vyose birwanya+ ya nyigisho ngirakamaro*+ 11 nk’uko inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe+ iri, iyo najejwe+.
12 Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, uwampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa+ mu kunshinga ubusuku+, 13 naho kera nari umurogosi, uwuhamana+, nkaba n’umuntu atisonera+. Yamara rero, naragiriwe imbabazi+, kuko nari mu kutamenya+ kandi ngakorana ukutizera. 14 Mugabo ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu bwaragwiriye cane+ hamwe n’ukwizera n’urukundo rujanye na Kristu Yezu+. 15 Ijambo+ ry’uko Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi+ ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose. Muri abo jewe ndi agahebuza+. 16 Yamara rero, icatumye ngirirwa imbabazi+ kwari ukugira ngo, biciye kuri jewe gahebuza, Kristu Yezu yerekane ukwiyumanganya kwiwe kwose bwa karorero k’abazoshingira ukwizera kwabo+ kuri we kugira baronke ubuzima budahera+.
17 Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe atabora+, ataboneka+, we Mana yonyene+, iteka n’ubuninahazwa bibe ivyiwe ibihe bitazoshira+. Amen.
18 Iryo bwirizwa+ ndarikujeje, mwananje Timoteyo, nk’uko ivyavuzwe imbere y’igihe+ vyari vyerekeje kuri wewe bidakikiriza, kugira ngo bigufashe kubandanya urwana intambara nziza+; 19 ukagumana ukwizera n’ijwi ryo mu mutima ryiza+, iryo bamwe bashibuye+ bagashikirwa n’ugusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwabo+. 20 Himenayo+ na Alegizandere+ bari muri abo, kandi abo narabahereje Shetani+ kugira ngo bigishwe kutarogota biciye ku gutozwa indero+.
2 Imbere ya vyose, ndahimiriza bose rero ngo intakambo, amasengesho+, ugusabira abandi, ugukenguruka, bigirwe ku vyerekeye abantu b’uburyo bwose+, 2 ku vyerekeye abami+ n’abo bose bari mu kibanza co hejuru+; kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, turi n’ukwihebera Imana gukwiye kandi tudafyina+. 3 Ivyo ni vyiza kandi biremerwa+ imbere y’Umukiza wacu, Imana+, 4 umwe agomba ko abantu b’uburyo bwose+ bakizwa+ bagashika ku bumenyi butagira amakosa+ bwerekeye ukuri+. 5 Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana+ n’abantu+, akaba ari umuntu, ni we Kristu Yezu+, 6 uwitanze ngo abe incungu* y’indinganire ku bwa bose+... ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku bihe vyavyo nyene. 7 Ku bw’iyo ntahe+ ni ho nagenywe kuba umwamamaji n’intumwa+—ndiko mvuga ukuri+, sindiko ndabesha—umwigisha w’amahanga+ mu bijanye n’ukwizera+ be n’ukuri.
8 Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, bataritse amaboko adahemuka+, ata burake+ n’impari+. 9 Vyongeye, ndashaka ko abagore bishariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni+ no mu kurorana kw’umuzirikanyi, atari mu gushazisha imideri yo gutsiba imishatsi, n’inzahabu canke imaragarita canke impuzu zizimvye cane+, 10 ahubwo bibe mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko batinya Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza+.
11 Umugore niyige acereje mu kuyoboka gukwiye+. 12 Sindekurira umugore kwigisha+, canke kugira ubukuru ku mugabo+, ahubwo nacereze. 13 Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+. 14 Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe+, mugabo umugore yarahenzwe rwose+, ararenga itegeko+. 15 Ariko azozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu kwezwa hamwe n’ukurorana kw’umuzirikanyi+.
Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi+, aba yipfuje igikorwa ciza. 2 Umucungezi akwiye rero kuba ata co anegurwa+, ari umugabo w’umugore umwe, atarenza urugero+ mu ngeso, aroranye mu muzirikanyi+, umunyarutonde+, umwakiranyi+, ashoboye kwigisha+, 3 atari umunyamatati w’imborerwa+, atari uwukubitana+, ahubwo abe uwugira ibitegereka+, atari uwukunda kurwana+, atari inkunzi y’amahera+, 4 abe ari umuntu ahagarikira neza urugo rwiwe bwite+, afise abana bayoboka ata gufyina namba+; 5 (nimba koko umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe bwite, azobungabunga gute ishengero ry’Imana?) 6 ntabe umuntu yizeye vuba+, kugira ngo ntahave yivyimvya+ akagwa mu rubanza rwaciriwe Shetani*+. 7 Vyongeye, akwiye kandi kuba ashingirwa intahe nziza n’abantu bo hanze+, kugira ntagwe mu ceyi no mu mutego+ wa Shetani.
8 Abakozi b’ishengero*+ na bo nyene bakwiye kuba abadafyina, badafise indimi zibiri, badatwarwa umutima n’umuvinyu mwinshi, batanohokera inyungu mbi+, 9 bagumya ibanga ryeranda+ ry’ukwizera bari n’ijwi ryo mu mutima ridahumanye+.
10 Vyongeye, abo nibabanze kugezwa+ kugira ngo birabwe ko bakwiriye, babone gukora nk’abasuku, kuko ata co baregwa+.
11 Abagore na bo nyene bakwiye kuba abadafyina, ntibabe abambika ibara abandi+, babe batarenza urugero mu ngeso+, bizigirwa muri vyose+.
12 Umukozi w’ishengero abe umugabo w’umugore umwe+, ahagarikira neza abana biwe n’urugo rwiwe bwite+. 13 Kuko abakora neza bironsa impagararo nziza+ n’umwidegemvyo wo kuvuga+ mwinshi mu kwizera mu bijanye na Kristu Yezu.
14 Ndakwandikiye ivyo bintu, naho nizigiye kuza iwawe vuba+, 15 kugira ngo, hamwe noteba, umenye ingene ubwirizwa kwigenza mu rugo rw’Imana+, ari rwo shengero rya ya Mana nzima, rukaba inkingi n’urwego bishigikiye+ ukuri. 16 Egome, ibanga ryeranda+ ry’ukwo kwihebera Imana nta wobura kwemera ko rikomeye: ‘Yerekanywe mu mubiri+, yitwa umugororotsi mu mpwemu+, abonekera abamarayika+, yamamazwa mu mahanga+, yemerwa mw’isi+, yakirwa mw’ijuru mu buninahazwa+.’
4 Ariko ijambo ryahumetswe rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza+ bamwe bazota+ ukwizera, bagakurikira amajambo y’amahumekano azimiza+ be n’inyigisho z’amadayimoni*+, 2 bivuye ku bwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, mw’ijwi ryabo ryo mu mutima+ bakaba bameze nk’abokeshejwe icuma kirungurije; 3 bakabuza ukwabirana+, bagategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye+ ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungurane ugukenguruka. 4 Nakare, ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta co gutabwa+ iyo cakiranywe ugukenguruka+, 5 kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.
6 Niwaha izi mpanuro bene wacu uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu, yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza+ wakurikiraniye hafi+. 7 Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma+ zisiga iceyi ibintu vyeranda zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze, ukwihebera Imana kube yo ntumbero yawe+. 8 Kuko kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike; mugabo ukwihebera Imana+ kugira akamaro kuri vyinshi+, kuko gutekeye umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+. 9 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose+. 10 Kuko ico ari co dukorera cane kandi tukihatira+, kubera ko twashingiye icizigiro+ cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa+.
11 Guma utanga aya mategeko+ wongera uyigisha+. 12 Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe+. Ahubwo, nubere akarorero+ abizigirwa+ mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura+. 13 Mu gihe ntaraza, ubandanye kwijukira ugusomera+ imbere y’abantu+, uguhimiriza, ukwigisha. 14 Ntufate minenegwe ingabirano+ iri muri wewe, iyo wahawe biciye ku vyavuzwe imbere y’igihe+ be n’igihe inama y’abagabo b’inararibonye yakurambikako ibiganza+. 15 Uzirikane ivyo bintu+; nubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe+ ryibonekeze ku bantu bose. 16 Wame wiyubara ubwawe+ no ku nyigisho yawe+. Ivyo ubigumemwo, kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.
5 Ntukarire umugabo ahumuye+. Ahubwo umwinginge nka so, abagabo bakiri bato nka bene wanyu, 2 abagore bahumuye+ nka ba nyoko, abagore bakiri bato na bo nka bashikawe+, mu kutandura kwose.
3 Utere iteka abapfakazi b’abapfakazi vy’ukuri+. 4 Mugabo nimba hari umupfakazi afise abana canke abuzukuru, abo nibabanze bige gushira mu ngiro ukwihebera Imana mu rugo iwabo bwite+ no kuguma bishura abavyeyi babo+ na ba sekuru na ba inakuru inshumbusho ibakwiriye, kuko ivyo vyemerwa imbere y’Imana+. 5 Umugore rero w’umupfakazi vy’ukuri kandi asigaye ari ntahonikora+, arizigira Imana+ kandi agakovya mu gutakamba no mu gusenga ijoro n’umurango+. 6 Mugabo uwihebera ukuryoherwa kw’umubiri+ aba yarapfuye+ naho ari muzima. 7 Ugume utanga rero ayo mategeko+, kugira ngo babe abatagira ico banegurwa+. 8 Nkako, nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye+, na canecane abo mu rugo rwiwe+, aba yihakanye+ ukwizera+ kandi aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.
9 Hashirwe ku rutonde umupfakazi afise imyaka itari munsi ya mirongo itandatu, umugore w’umugabo umwe+, 10 ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiza+, nimba yararera abana+, nimba yarakira abashitsi+, nimba yaroza ibirenge vy’aberanda+, nimba yaratabara abari mu makuba+, nimba yarakurikirana igikorwa ciza cose ashirutse ubute+.
11 Ariko wamirire kure abapfakazi bakiri bato, kuko iyo inambu zabo z’umubiri zigiye hagati yabo na Kristu+, baca bashaka kwubaka, 12 bakikwegera urubanza kuko bakengereye ukwizera kwabo kwa mbere+. 13 Ico gihe nyene bariga kandi kutagira ico bakora, bayerera mu mihana; emwe, si ukuba gusa abatagira ico bakora, mugabo ni n’abanyarusaku n’abita mu vy’abandi+, bakaganira ivyo batari bakwiye kuganira. 14 Nshaka rero ko abapfakazi bakiri bato bubaka+, bakavyara abana+, bakabungabunga urugo, ntibahe uwuturwanya akaryo ko kudutuka+. 15 Nkako, bamwe baramaze gukevya bakurikira Shetani. 16 Nimba hari umugore yemera afise incuti z’abapfakazi, nabafashe+, ishengero ntiryikorere uwo muzigo. Maze rizoshobora gutabara abari abapfakazi vy’ukuri+.
17 Abagabo b’inararibonye bahagarikira+ neza nibabonwe ko babereye iteka ririmwo abiri+, canecane abakora cane mu kuvuga no mu kwigisha+. 18 Kuko icanditswe kivuga giti: “Ntukarumye umunwa w’ishūri iyo ikubita ibinyantete+”; kandi giti: “Umukozi arabereye impembo yiwe+.” 19 Ntiwemere ikirego kiregwa umugabo ahumuye, kiretse gusa ku kimenyamenya c’ivyabona bibiri canke bitatu+. 20 Ukangire+ mu maso ya bose abantu baza baracumura+, kugira ngo abandi na bo batinye+. 21 Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu+ n’abamarayika batowe ngo ugumye ivyo bintu ata guca urubanza imbere y’igihe, ata co ukoreshwa no kugira aho uhengamiye+.
22 Ntukarambike ibiganza+ gihutihuti ku muntu n’umwe+; eka kandi ntugafatanye n’abandi mu bicumuro vyabo+; ugume utanduye+.
23 Ntiwongere kunywa amazi, mugabo uze uranywa akavinyu gakeyi+ ku bw’umushishito wawe n’ukurwaragurika kwawe.
24 Ibicumuro vy’abantu bamwe biribonekeza icese+, bigashikana ubwo nyene ku rubanza, abandi na bo ibicumuro vyabo na vyo nyene biribonekeza mu nyuma+. 25 Ibikorwa vyiza na vyo nyene biribonekeza icese+, kandi n’ibimeze ukundi ntibishobora kuguma binyegejwe+.
6 Abari munsi y’ingǒgo y’ubushumba bose nibagume babona ko ba shebuja babereye iteka ryuzuye+, kugira ngo izina ry’Imana be n’inyigisho yayo ntivyigere bivugwa nabi+. 2 Vyongeye, abafise ba shebuja bemera+ ntibabagaye+ ngo ni uko ari bene wacu+. Ahubwo riho, nibarushirize kuba abashumba, kuko abungukira ku gikorwa ciza cabo ari abemera n’abakundwa.
Ugume wigisha ivyo bintu+ wongera ushikiriza aya majambo yo guhimiriza. 3 Nimba hari umuntu yigisha izindi nyigisho+ kandi ntiyemere ya majambo ngirakamaro*+, amwe y’Umukama wacu Yezu Kristu, canke ntiyemere inyigisho ihuye n’ukwihebera Imana+, 4 aba yivyimvya+, adategera ikintu na kimwe+; ahubwo aba arwaye mu mutwe+ arwajwe n’ibibazo be n’impari ku majambo+. Ivyo bivamwo agashari+, ugushihana, ugutukana+, imyikeko mibi, 5 impari zikaze ku bintu bitagira mvura zigirwa n’abantu bononekaye mu muzirikanyi+ banyazwe ukuri+, bakiyumvira ko ukwihebera Imana ari uburyo bwo kuronka inyungu+. 6 Nkako, ukwo kwihebera Imana+, kuri kumwe n’ukwikwira+, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye+. 7 Kuko ata co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo+. 8 Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba+.
9 Ariko abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo+ no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi+, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero+. 10 Kuko urukundo+ rw’amahera ari umuzi+ w’ibibi vy’ubwoko bwose+, kandi mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe barahubijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi+.
11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu+. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana, ubwitonzi+. 12 Rwana indwano nziza y’ukwizera+, ucakire ubuzima budahera wahamagariwe kandi ukabushingira intahe nziza icese+ imbere y’ivyabona vyinshi.
13 Imbere y’Imana, yo izigamira ubuzima ibintu vyose, n’imbere ya Kristu Yezu, we bwa cabona+ yashinze intahe nziza icese+ imbere ya Ponsiyo Pilato+, ngutegetse+ 14 kwubahiriza ibwirizwa mu buryo butagira agatosi kandi butagira ico bunegurwa gushika ku kwigaragaza+ kw’Umukama wacu Yezu Kristu. 15 Ukwo kwigaragaza, wa muhirwa akaba na we Munyabubasha+ wenyene azokwerekana mu bihe vyakwo+, we Mwami+ w’abaganza akaba n’Umukama+ w’abakama batwara, 16 umwe wenyene afise ukudapfa+, aba mu muco utegerwa+, wa wundi ata n’umwe mu bantu yamubonye canke ashobora kumubona+. Iteka+ n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe bidahera. Amen.
17 Tegeka abatunzi+ bo muri iki gihe* kutihambaza+, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe+; 18 ubategeke gukora ivyiza+, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza+, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi+, 19 bibikire nk’ubutunzi+ ahatagira inkomanzi umushinge+ mwiza ku bwa kazoza, kugira bacakire ubuzima nyakuri+.
20 Ewe Timoteyo, rinda ico wabikijwe+, uhunge amajambo agaragara asiga iceyi ibintu vyeranda, uhunge n’amajambo avuguruzanya y’ivyitwa ngo ni “ubumenyi+.” 21 Kubera uguhaya mwene ubwo bumenyi bamwe barakebeje bata ukwizera+.
Ubuntu ata wari abukwiriye bubane namwe.
Canke, “ntungamagara.”
Raba Inyongera ya 21.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “ntungamagara.”
Raba Inyongera ya 21.