Ikete rya Kabiri ryandikiwe Abatesalonika
1 Paulo na Silivano na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu:
2 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu+.
3 Ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu+, bene wacu, kuko bibereye, kubera ko ukwizera kwanyu kuriko kurakura+ cane n’urukundo rw’umwe wese n’urwa mwese rukaba ruriko rurongerekana, umwe wese kuri mugenziwe+. 4 Ivyo bituma ubwacu tubīshimira+ mu mashengero y’Imana, kubera ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu mu ruhamo murimwo rwose n’amakuba muriko murihanganira+. 5 Ico ni ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana+, rubashikana ku kubonwa ko mubereye ubwami bw’Imana+, ubwo muriko muracumukurira koko+.
6 Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza+, 7 mugabo mwebwe abatezwa amakuba ikabaronsa ukuruhurirwa hamwe natwe igihe c’ihishurwa+ ry’Umukama Yezu avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha+ 8 mu muriro uyingana, niyihora+ abatazi Imana+ be n’abatagamburukira+ inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+. 9 Abo nyene bazoshikirwa n’igihano c’urubanza+ c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera+ bave imbere y’Umukama n’imbere y’ubuninahazwa bw’inkomezi ziwe+, 10 igihe azoza kuninahazwa mu bijanye n’aberanda biwe+ kandi kuri uwo musi agatangarirwa mu bijanye n’abizeye bose, kubera ko intahe twashinze yakiranywe ukwizera muri mwebwe.
11 Nkako, ico nyene ni co gituma twama tubasengera, ngo Imana yacu ibone ko mubereye ihamagara+ ryayo, yongere irangure rwose ibiyihimbara vyose vy’ukumera neza kwayo be n’igikorwa c’ukwizera kwanyu ibigiranye ububasha; 12 kugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe+, namwe mwunge ubumwe+ na we, nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana yacu be n’ubw’Umukama Yezu Kristu buri.
2 Ariko ga bene wacu, ku bijanye n’ukuhaba+ kw’Umukama wacu Yezu Kristu be n’ugukoranirizwa hamwe kwacu ngo tube kumwe na we+, tubasavye 2 kutanyiganyizwa ningoga ngo muve ku kwiyumvira kwanyu, canke ngo hagire ijambo ry’irihumekano+ ribakabura canke ubutumwa bwo ku munwa+ canke ikete+ nk’aho vyoba bivuye iwacu, bivuga ko umusi+ wa Yehova ushitse.
3 Ntihagire uwubaryosharyosha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoza bwa buhuni+ butabanje kuza na wa muntu w’ubugarariji+ agahishurwa+, wa mwana wo kuranduka+. 4 Ararwanya+ akongera akishira hejuru y’umuntu wese yitwa “imana” canke ikintu gisengwa, ku buryo yicara mu rusengero rwa Ya Mana, akiyerekana ku mugaragaro ko ari imana+. 5 Ntimwibuka yuko ivyo bintu nahora ndabibabwira+ nkiri kumwe namwe?
6 Kandi ubu rero murazi ikintu+ kibaye intambamyi ico ari co+, kugira ngo ahishurwe mu gihe ciwe+. 7 Ego ni ko, akayobera k’ubwo bugarariji karamaze gutangura gukora+; mugabo ni gushika gusa aho uwuri intambamyi ubu azovira mu nzira+. 8 Ni ho vy’ukuri nya mugarariji azohishurwa, uwo Umukama Yezu azokuzaho impwemu yo mu kanwa kiwe+ akamuhinduza ubusa ukwigaragaza+ kw’ukuhaba kwiwe+. 9 Mugabo ukuhaba kw’uwo mugarariji kwisunga ikora+ rya Shetani riri kumwe n’ibikorwa vy’ububasha vyose n’ibimenyetso be n’ibitangaza vy’ububeshi+ 10 be n’uruhendo+ rwose rujana n’ibitagororotse ku bariko baratikira+, bikababera nk’impembo kubera ko batemeye gukunda+ ukuri ngo bakizwe+. 11 Ni co gituma Imana ireka ubuzimire bukabakorerako, ngo bemere ikinyoma+, 12 kugira ngo bacirwe urubanza bose kubera batemeye ukuri+, mugabo bagahimbarwa n’ibitagororotse+.
13 Ariko ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu, yemwe bene wacu bakundwa na Yehova, kubera ko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango ngo muronke ubukiriro mu kubezesha+ impwemu+ no mu kwizera mufise mu kuri+. 14 Iryo hangiro nyene ni ryo yabahamagariye biciye ku nkuru nziza tumenyesha+, kugira ngo turonke ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 15 Nuko rero, bene wacu, muhagarare mushikamye+ kandi mugumye ivyo mwashikirijwe+, vyaba vyaciye ku butumwa bwo ku munwa canke kw’ikete ryacu. 16 Vyongeye, Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze+ ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera be n’icizigiro ciza+ biciye ku buntu ata wari abukwiriye, 17 bahoze imitima yanyu bongere babashikamishe mu gikorwa ciza cose n’ijambo ryiza ryose+.
3 Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kudusengera+, ngo ijambo rya Yehova+ rigume rija imbere ningoga+ ryongera rininahazwa, nk’uko mbere rimeze muri mwebwe; 2 kandi ngo turokorwe mu gukizwa abantu bakora ikibi kandi b’ababisha+, kuko ukwizera atari ikintu gifiswe na bose+. 3 Mugabo Umukama ni umwizigirwa, kandi azobashikamisha yongere abarinde wa mubisha+. 4 Vyongeye, turizigiye+ mu Mukama ku biberekeye, yuko muriko mukora ivyo dutegeka kandi ko muzobandanya kubikora+. 5 Umukama abandanye kuyobora neza imitima yanyu mu rukundo+ rw’Imana no mu kwihangana+ ku bwa Kristu.
6 Ubu rero turabategeka+, bene wacu, mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu, kwitandukanya+ na mwene wacu wese atagendera ku rutonde+, ntagende yisunga ivyo twabashikirije+. 7 Kuko mwebwe ubwanyu muzi ingene mubwirizwa kutwigana+, kuko muri mwebwe tutigenjeje nk’abatagendera ku rutonde+, 8 eka kandi nta n’umwe twaririye ibifungurwa ku buntu+. Ahubwo riho, mu kubira akuya no mu gucumukura+ ijoro n’umurango, twarakora kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemeka umuzigo uzimvye+. 9 Si uko tutabifitiye ububasha+, ahubwo ni ukugira ngo twitange bwa karorero kuri mwebwe ngo mutwigane+. 10 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubaha iri tegeko+: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.” 11 Kuko twumva ko hari bamwe batagendera ku rutonde+ muri mwebwe, badakora na gatoyi, mugabo bita mu bitabaraba+. 12 Mwene abo bantu turabategeka tukongera tukabahimiriza mu Mukama Yezu Kristu yuko mu gukora batekanye ari ho bakwiye kurya ibifungurwa bo ubwabo bakoreye+.
13 Nayo mwebwe, bene wacu, ntimuhebe gukora ivyiza+. 14 Mugabo nimba hari uwutagamburuka ijambo+ tubabwiriye muri iri kete, uwo mugume mumushizeko ikimenyetso+, mureke kwifatanya na we+, kugira ngo amaramare+. 15 Yamara ntimumubone nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura+ nk’umuvukanyi.
16 Wa Mukama w’amahoro rero ubwiwe yame abaha amahoro mu buryo bwose+. Umukama abane namwe mwese.
17 Ng’iyi indamutso yanje, iya Paulo, n’ukuboko kwanje bwite+, kikaba ari ikimenyetso mw’ikete ryanje ryose; ukwo ni ko nandika.
18 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe mwese.