Ikete rya Mbere ryandikiwe Abatesalonika
1 Paulo na Silivano+ na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe+ n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu:
Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro+.
2 Twama dukengurukira Imana iyo tubashize mwese mu masengesho yacu+, 3 kuko tuguma twibuka igikorwa canyu kiva ku kwizera+, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwanyu, kubera icizigiro+ mufise mu Mukama wacu Yezu Kristu imbere y’Imana yacu ikaba na Data. 4 Kuko tuzi ko yabatoye+, yemwe bene wacu bakundwa n’Imana, 5 kubera ko inkuru nziza twamamaza itaje iwanyu mu majambo gusa, ahubwo kandi yazananye ububasha+ n’impwemu nyeranda n’ukujijuka gukomeye+, nk’uko muzi uko twari tumeze kuri mwebwe ku bwanyu+; 6 kandi mwacitse abatwigana bakigana+ n’Umukama+, kuko mwemeye rya jambo mu makuba menshi+ muri n’akanyamuneza k’impwemu nyeranda+, 7 ku buryo mwabereye akarorero abemera bose i Makedoniya n’i Akaya.
8 Uko biri, si uko gusa ijambo rya Yehova+ ryasamiranye i Makedoniya n’i Akaya rivuye i wanyu, ahubwo ukwizera kwanyu+ kwerekeye Imana kwarakwiragiye hose+, ku buryo tudakeneye kugira ico tuvuze. 9 Kuko bo ubwabo baguma bavuga ukuntu twinjiye iwanyu ari bwo bwa mbere be n’ingene mwahindukiriye Imana mugaheba ibigirwamana+ vyanyu kugira ngo mushumbire ya Mana nzima+ kandi y’ukuri+, 10 no kugira ngo murindire+ Umwana wayo ava mw’ijuru+, uwo yazuye mu bapfuye+, ni we Yezu, umwe aturokora akadukiza uburake buriko buraza+.
2 Mu vy’ukuri, mwebwe ubwanyu murazi, bene wacu, yuko urugendo+ twagize iwanyu rutabuze ico ruvamwo+, 2 mugabo yuko aho tumariye kubanza gucumukura+ tukongera tukagirirwa nabi+ bimwe biteye isoni i Filipi+ (nk’uko mubizi), twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire+ inkuru nziza y’Imana hariko n’urugamba rukomeye. 3 Kuko uguhimiriza kwacu kutava ku guhuba canke ku buhumane+ canke ku buhendanyi, 4 mugabo, nk’uko twasuzumwe n’Imana ikemeza yuko tubereye kuzezwa+ inkuru nziza, ni ko tuvuga, atari nk’abashimisha+ abantu, ahubwo nk’abashimisha Imana, imwe isuzuma imitima yacu+.
5 Nkako, ntitwigeze tuza dufise amajambo aryosharyosha+ (nk’uko mubizi), canke ngo twiyerekane uko tutari+ kugira ngo tunyegeze umwina+, Imana ni yo cabona! 6 Eka mbere ntitwarondeye ubuninahazwa ku bantu+, oya, haba kuri mwebwe canke ku bandi, naho twari gushobora kubabera umuzigo uzimvye+ bwa ntumwa za Kristu. 7 Ahubwo riho, twabaye abengenga muri mwebwe, nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga+ abana biwe. 8 Nuko, kubera tubafitiye ikibabarwe+, twarahimbawe cane no kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwacu bwite+, kuko mwabaye abakundwa+ kuri twebwe.
9 Nta gukeka muribuka, bene wacu, ukubira akuya n’ugucumukura kwacu. Twababwiye inkuru nziza y’Imana dukora+ ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe twikoreza umuzigo uzimvye+. 10 Muri ivyabona, n’Imana ni ukwo, vy’ingene twabonetse ko turi intahemuka n’abagororotsi n’abatagirako umugayo+ kuri mwebwe abemera. 11 Muri ubwo buryo, murazi neza ingene twagumye duhimiriza+ umwe wese muri mwebwe, nk’uko se+ agirira abana, tukabirura kandi tugashinga intahe kuri mwebwe, 12 kugira ngo mubandanye kugenda+ nk’uko bibereye Imana ibahamagarira+ ubwami+ bwayo n’ubuninahazwa bwayo.
13 Egome, ni co gituma na twebwe dukengurukira Imana ubudahengeshanya+, kubera ko igihe mwakira ijambo ry’Imana+, iryo mwumvise kuri twebwe, mwaryemeye, atari nk’ijambo ry’abantu+, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana, ari ryo kandi ririko rirakorera muri mwebwe abemera+. 14 Kuko ga bene wacu mwacitse abigana amashengero y’Imana ari i Yudaya yunze ubumwe na Kristu Yezu, kubera ko na mwebwe mwatanguye gutezwa n’abo musangiye igihugu imibabaro+ nk’iyo na bo nyene bariko baratezwa n’Abayuda, 15 abishe mbere n’Umukama Yezu+ n’abahanuzi+ natwe bakaduhama+. Ikigeretseko, ntibariko bashimisha Imana, ahubwo barwanya ineza y’abantu bose, 16 kuko bashaka kutubuza+ kubwira abanyamahanga ngo na bo bakizwe+, bigatuma bama buzuza ingero+ y’ibicumuro vyabo. Mugabo uburake bwayo bwaruhiye kubazako+.
17 Nayo twebwe ga bene wacu, igihe twabwirizwa gutandukana namwe akanya gato gusa ku maso atari ku mutima, twarihase kuruta uko bisanzwe ngo tubone mu maso hanyu, tubishashaye cane+. 18 Ni co catumye dushaka kuza iwanyu, egome, jewe Paulo, rimwe eka n’irigira kabiri, mugabo Shetani yarazibiye inzira yacu. 19 Kuko, none icizigiro cacu canke akanyamuneza kacu canke urugori rwacu+ rw’ukwigina ni iki—mbega si mwebwe?—imbere y’Umukama wacu Yezu mu gihe c’ukuhaba kwiwe+? 20 Mu vy’ukuri ni mwebwe buninahazwa bwacu n’akanyamuneza kacu.
3 Ni co gituma, igihe tutari tugishoboye kuvyihanganira, twabonye ari vyiza gusigara twenyene i Atene+; 2 turaheza turungika Timoteyo+, mwene wacu akaba n’umusuku w’Imana mu bijanye n’inkuru nziza+ yerekeye Kristu, kugira ngo abashikamishe yongere abahoze kugira ngo ukwizera kwanyu gukomezwe, 3 ngo ntihagire n’umwe ahungabanywa n’ayo makuba+. Kuko mwebwe ubwanyu muzi ko twagenewe ico kintu nyene+. 4 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubabwira imbere y’igihe+ yuko twabwirizwa gushikirwa n’amakuba+, nk’uko nyene vyabaye, nk’uko kandi mubizi+. 5 Ni co gituma rero, igihe ntari ngishoboye kuvyihanganira, narungitse intumwa kugira ngo menye ivy’ubwizigirwa bwanyu+, kubera ko kumbure wa Mugerageji+ ashobora kuba yarabagerageje, maze ukubira akuya kwacu kukaba impfagusa+.
6 Mugabo Timoteyo ubu nyene arashitse iwacu avuye iwanyu+ aduha inkuru nziza y’ubwizigirwa bwanyu n’urukundo rwanyu+, avuga kandi yuko muguma mutwibukira ku bintu vyiza nantaryo, be n’uko mushashaye kutubona, egome, nk’uko natwe dushashaye kubabona+. 7 Ni co gituma, bene wacu, twahojejwe+ ku bijanye namwe mu ngorane zacu zose n’amakuba yacu yose, biciye ku bwizigirwa mwerekana+, 8 kubera ko ubu turiho nimba muhagaze mushikamye mu Mukama+. 9 Kuko, mbega ni ugukenguruka nyabaki twoha Imana ku biberekeye mu kwishura akanyamuneza kose dufise+ kubera mwebwe imbere y’Imana yacu, 10 mu gihe ijoro n’umurango dutakambana+ ubwira burengeye ubudasanzwe kugira tubone mu maso hanyu no kugira ngo twuzurize ibihaze ku kwizera kwanyu+?
11 Imana yacu rero ikaba na Data ubwayo hamwe n’Umukama wacu Yezu+ bayobore neza inzira yacu igana iwanyu. 12 Vyongeye, Umukama abahe kwongerekana+, egome, abahe kugwira, mu rukundo+ mugiriranira mukarugirira na bose, nk’uko natwe turubagirira; 13 kugira ngo ashikamishe imitima yanyu, ayigire iyitagirako umugayo+ mu bweranda imbere y’Imana yacu ikaba na Data mu gihe c’ukuhaba+ kw’Umukama wacu Yezu ari kumwe n’aberanda biwe bose+.
4 Ubwa nyuma, bene wacu, turabasaba kandi tukabahimiriza biciye ku Mukama Yezu, nk’uko twababwirije ku vy’ukuntu mukwiye kugenda+ no guhimbara Imana, nk’uko mbere muriko muragenda, yuko mwoguma murushiriza rwose kubigira+. 2 Kuko muzi amategeko+ twabahaye biciye ku Mukama Yezu.
3 Kuko ico Imana igomba ari iki: ni uko mwezwa+, mukirinda ubusambanyi+, 4 umwe wese muri mwebwe akamenya kuganza umubiri*+ wiwe bwite mu kwezwa+ no mw’iteka, 5 atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa+ nk’iyo ayo mahanga+ atazi Imana afise+; 6 kugira ngo ntihagire n’umwe ashika aho agirira nabi mwene wabo kandi akarenga ku burenganzira bwiwe muri ivyo+, kuko Yehova ari we atanga igihano ku bw’ivyo bintu vyose+, nk’uko twabibabwiye imbere y’igihe tukanabishingira intahe inogangije kuri mwebwe+. 7 Kuko Imana itaduhamagariye kwirengagiza ubuhumane, ahubwo yaduhamagariye kwezwa+. 8 Nuko rero, uwubikengera+ ntaba akengereye umuntu, ahubwo aba akengereye Imana+, yo ishira impwemu nyeranda+ yayo muri mwebwe.
9 Ariko ku bijanye n’urukundo rwa kivukanyi+, ntimukeneye ko tubandikira, kuko mwebwe ubwanyu mwigishijwe n’Imana+ gukundana+; 10 kandi nkako, muriko murabigirira bene wacu bose b’i Makedoniya hose. Mugabo turabahimiriza, bene wacu, mubandanye kurushiriza rwose kubigira, 11 no kwishingira intumbero yo kubaho mutekanye+ no kuraba ivyanyu bwite+ no gukoresha amaboko yanyu+, nk’uko twabibategetse; 12 kugira ngo mugende mu buryo bubereye+ ku bantu bo hanze+, ata co mukena+.
13 Vyongeye, bene wacu, ntidushaka ko mutamenya ivyerekeye abasinzira+ mu rupfu; kugira ngo ntimugire agahinda nk’uko abandi bakagira, bamwe badafise icizigiro+. 14 Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu muri Yezu na bo nyene Imana izobazanana na we+. 15 Kuko ibi ari vyo tubabwira biciye kw’ijambo rya Yehova+, yuko twebwe abazima bazoba bakiriho gushika mu gihe c’ukuhaba kw’Umukama+ tutazotanga mu buryo na bumwe abasinziriye mu rupfu; 16 kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru+ n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana+, maze abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka+. 17 Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, hamwe na bo+, tuzojanwa+ mu bicu+ gusanganira+ Umukama mu kirere; gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama+. 18 Nimugume rero muhozanya muri ayo majambo.
5 Nayo ku vyerekeye ibihe n’ibiringo+, bene wacu, nta co mukeneye kwandikirwa. 2 Kuko mwebwe ubwanyu muzi neza cane yuko umusi+ wa Yehova uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro+. 3 Igihe bazoba+ bavuga ngo: “Amahoro+ n’umutekano!” ni ho agatikizo+ ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene nk’uko ububabare bw’ibise buza ku mugore yibungenze+; kandi ntibazogenda barusimvye+. 4 Mugabo mwebwe ga bene wacu, ntimuri mu mwiza+ ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko wohwikira ibisuma+, 5 kuko mwese muri abana b’umuco+ n’abana b’umurango+. Ntituri ab’ijoro canke ab’umwiza+.
6 Nuko rero, ntidusinzire+ nk’uko abandi bagira+, ahubwo tugume turikanuye+ kandi tuzigame ubwenge bwacu+. 7 Kuko abasinzira+ bamenyereye gusinzira mw’ijoro+, n’ababorerwa bagakunda kuborerwa mw’ijoro. 8 Nayo twebwe ab’umurango, tuzigame ubwenge bwacu kandi twambare ukwizera+ n’urukundo nk’igikingira igikiriza+, twambare n’icizigiro+ c’ubukiriro nk’inkofero+; 9 kuko Imana itadutoreye uburake+, ahubwo yadutoreye ukuronka ubukiriro+ biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+. 10 Uyo yaradupfiriye+, kugira ngo twaba tuguma turikanuye canke dusinziriye, tubaneho na we+. 11 Mugume rero muhozanya+ mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira+.
12 Turabasaba rero, bene wacu, guha iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira+ mu Mukama bakongera bakabakebura; 13 no kubiyumvira mu buryo burengeye ubudasanzwe, mu rukundo, kubera igikorwa cabo+. Mubane amahoro+. 14 Ariko turabahimiriza, bene wacu, mukebure abatagendera ku rutonde+, muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura+, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwiyumanganye+ kuri bose. 15 Murabe ntihagire uwishura uwundi ikibi ku kindi+, ahubwo mwame mukurikirana iciza ku bijanye na bagenzi banyu no ku bandi bose+.
16 Mwame munezerwa+. 17 Musenge ubudahengeshanya+. 18 Mukenguruke muri vyose+. Kuko ukwo ari kwo kugomba kw’Imana mu bumwe na Kristu Yezu ku biberekeye. 19 Ntimuzimye umuriro w’impwemu+. 20 Ntimukengere ivy’ukuvuga ubuhanuzi+. 21 Mwiyemeze neza ibintu vyose+; mugumye ivyiza+. 22 Mwirinde ubwoko bwose bw’ububisha+.
23 Ya Mana y’amahoro+ ubwayo ibeze rwose+. Impwemu n’ubuzima n’umubiri vyanyu, bene wacu, bizigamwe ata gahonzi muri vyose kandi ata mugayo, mu gihe c’ukuhaba kw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 24 Uwubahamagara ni umwizigirwa, kandi azobikora.
25 Bene wacu, mubandanye kudusengera+.
26 Muramukishe bene wacu bose ugusomana kweranda+.
27 Ndabategetse nshimitse biciye ku Mukama yuko iri kete risomerwa bene wacu bose+.
28 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe.
Ijambo ku rindi ni “icombo.”