ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Abakolosayi 1:1-4:18
  • Abakolosayi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakolosayi
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Abakolosayi

Ikete ryandikiwe Abakolosayi

1 Jewe Paulo intumwa ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+, na Timoteyo+ mwene wacu, 2 turabandikiye mwebwe aberanda mukaba n’abavukanyi b’abizigirwa bunze ubumwe+ na Kristu i Kolosayi:

Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana ari yo Data+.

3 Twama dukengurukira+ Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu iyo tubasengeye+, 4 kuva igihe twumva ivy’ukwizera kwanyu mu bijanye na Kristu Yezu be n’urukundo mufitiye aberanda bose+ 5 kubera icizigiro+ mubikiwe mw’ijuru+. Ico cizigiro mwacumvise kera igihe havugwa ukuri kw’iyo nkuru nziza+ 6 yaje muri mwebwe, nk’uko nyene iriko irama ivyamwa+ kandi ikagwira+ mw’isi+ yose nk’uko iriko irabigira no muri mwebwe, kuva umusi mwumva kandi mukamenya neza ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana mu kuri+. 7 Ivyo ni vyo mwamenyeye kuri Epafura+ umushumba mugenzi wacu mukundwa, akaba ari umusuku w’umwizigirwa wa Kristu mu kibanza cacu, 8 ari na we yaduhishuriye urukundo+ rwanyu mu buryo bw’impwemu.

9 Ni na co gituma twebwe, kuva umusi twavyumva, tudahengeshanya kubasengera+ no gusaba yuko mwokwuzuzwa ubumenyi butagira amakosa+ bw’ukugomba kwayo mu bukerebutsi+ bwose n’ugutegera kwo mu vy’impwemu+, 10 kugira ngo mugende nk’uko bibereye+ Yehova+ ngo mumushimishe bimwe bishitse, uko mubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose+ no kugwira mu bumenyi butagira amakosa+ bw’Imana, 11 mukagirwa abanyabubasha n’ububasha bwose ku rugero rw’ubushobozi bwayo buninahaye+, ngo mubone kwihangana+ bimwe bishitse mwongera mwiyumanganya munezerewe, 12 mukengurukira Data yabagize ababereye kuronka ku ntoranwa+ y’aberanda+ mu muco+.

13 Yaraturokoye adukiza ububasha+ bw’umwiza atwimurira+ mu bwami+ bw’Umwana w’urukundo rwiwe+, 14 muri uyo tukaba turonka ukubohorwa biciye ku ncungu*, ukubabarirwa ibicumuro vyacu+. 15 Ni we shusho+ y’Imana itaboneka+, imfura+ mu biremwa vyose; 16 kuko biciye kuri we+ ari ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami canke ubutware canke intwaro canke ububasha+. Ibindi bintu vyose vyaremwe biciye kuri we+ kandi biremerwa we. 17 Vyongeye, ni uw’imbere y’ibindi bintu vyose+, kandi biciye kuri we ni ho ibindi bintu vyose vyabeshejweho+, 18 akaba na we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero+. Ni we ntango, imfura mu kuva mu bapfuye+, kugira ngo abe uwa mbere+ muri vyose; 19 kuko Imana yabonye ari vyiza ko ukunengesera+ kwose kuba muri we, 20 kandi biciye kuri we ikongera kwisubizako+ ibindi bintu vyose+ mu kugarukana amahoro+ biciye ku maraso+ yasheshe ku giti co kubabarizwako+, vyaba ivyo kw’isi canke ivyo mw’ijuru.

21 Egome, mwebwe abari barigijwe kure+ kera mukaba n’abansi kubera yuko imizirikanyi yanyu yari ku bikorwa bibi+, 22 ubu yarabasubije hamwe+ ikoresheje umubiri w’inyama w’uyo, biciye ku rupfu rwiwe+, kugira ngo mushikirizwe muri beranda kandi mutagirako ikirabagu+, ata n’ico muregwa+ imbere yayo, 23 mukire gusa kuguma mu kwizera+, mushinzwe ku mushinge+ kandi mushikamye+ mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise+ kandi yamamajwe+ mu vyaremwe vyose+ biri munsi y’ijuru. Iyo nkuru nziza ni yo jewe Paulo nabereye umusuku+.

24 Ubu ndanezerwa mu mibabaro ndimwo ku bwanyu+, nanje nkaba ndiko ndakwiza ivyasigaye ku makuba+ ya Kristu mu mubiri wanje ku bw’umubiri wiwe, ari wo shengero+. 25 Nabaye umusuku+ w’iryo shengero mu buryo buhuye n’ububwiriza+ buva ku Mana, ubwo nahawe ku neza yanyu kugira ngo ijambo ry’Imana ryamamazwe bimwe bishitse, 26 rya banga ryeranda+ ryari ryaranyegejwe kuva mu bihe*+ vyarenganye no mu mayaruka yarenganye. Ariko ubu ryarahishuriwe+ aberanda bayo, 27 abo Imana yahimbawe no kumenyesha ubutunzi bw’ubuninahazwa+ bw’iryo banga ryeranda+ mu mahanga. Iryo banga ni Kristu+ yunze ubumwe namwe, icizigiro c’ubuninahazwa bwiwe+. 28 Ni we tumenyekanisha+, tugakebura umuntu wese kandi tukigisha umuntu wese mu bukerebutsi bwose+, kugira ngo umuntu wese tumushikirize ari uwukwiye+, yunze ubumwe na Kristu. 29 Egome, ico ni co ndiko nkorera cane, nihata+ mu buryo buhuye n’ukuntu ikora+, ari na kwo kuriko gukorana ububasha muri jewe+.

2 Nuko nshaka ko mutahura ingene ndiko ndwana urugamba+ rukomeye ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya+ no ku bw’abo bose batarankubita ijisho, 2 kugira ngo imitima yabo ihozwe+, babe abafatanirijwe hamwe bakanywana neza mu rukundo+, kugira ngo bashikire ubutunzi bwose bw’ugushira amazinda gukwiye kw’ugutegera+ kwabo, bashikire ubumenyi butagira amakosa bw’ibanga ryeranda ry’Imana, ari ryo Kristu+. 3 Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe bimwe vyitondewe+. 4 Ivyo ndabivuze kugira ntihagire umuntu abahendesha ivyiyumviro binyura+. 5 Kuko naho ntahari mu mubiri, nta co bitwaye, ndi kumwe namwe mu mutima+, nkanezerwa vyongeye nkabona urutonde+ rwanyu rwiza n’ugushikama kw’ukwizera+ kwanyu ku bijanye na Kristu.

6 Nuko rero, ko mwemeye Kristu Yezu Umukama, nimubandanye kugenda mwunze ubumwe+ na we, 7 mushinze imizi+ kandi mwubatswe+ muri we kandi mutanyiganyiga mu kwizera+, nk’uko nyene mwigishijwe, musesekara ukwizera mu gukenguruka+.

8 Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira+ nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya+ no ku ruhendo rugaragara+ bishingiye ku migenzo y’abantu, bishingiye ku bintu vy’intango+ vyo mw’isi, bidashingiye kuri Kristu; 9 kuko muri we ari ho hacumbitse ukunengesera+ kwose kw’ubumana+ mu buryo bw’umubiri. 10 Gutyo rero, murafise ukunengesera biciye kuri we, ari na we mutwe w’intwaro yose n’ububasha bwose+. 11 Mu bucuti+ mufitaniye na we, mwaragenyerewe+ kandi ukugenyerwa kwagizwe hadakoreshejwe iminwe mu gukurako umubiri w’inyama+, ni ukuvuga ukwagizwe biciye ku kugenyera kwa Kristu, 12 kuko mwahambanywe na we mw’ibatisimu yiwe+, kandi mu bucuti mufitaniye na we mukaba mwaranazuranywe+ na we biciye ku kwizera+ mufise mu kuntu Imana ikora+, imwe yamuzura mu bapfuye+.

13 Ikigeretseko, naho mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu no mu kutagenyerwa kw’umubiri wanyu, Imana yarabagize bazima hamwe na we+. Yaratubabariye n’umutima mwiza amakosa yacu yose+, 14 yongera irahanagura+ ca cete c’iminwe+ caturega, kimwe cari kigizwe n’ingingo zashinzwe+ kikaba kandi caraturwanya+; kandi yaragikuyeho mu kugikomera imisumari+ ku giti co kubabarizwako+. 15 Mu kwambura intwaro n’ubukuru+ bigasigara biri amenya, yaravyerekanye ku mugaragaro nk’ivyatsinzwe+, abirongora mu rugendo rw’intsinzi+ biciye kuri ico giti.

16 Ntihagire rero uwubacira urubanza+ mu vy’ukurya n’ukunywa+ canke mu bijanye n’umusi mukuru+ canke ukwubahiriza imboneko y’ukwezi+ canke isabato+; 17 kuko ivyo ari igitutu+ c’ibizoza, mugabo umutumba+ ni uwa Kristu+. 18 Ntihagire uwubaka+ ka gashimwe+, umwe usanga ahimbarwa n’ukwicisha bugufi kw’uruhendo be n’ugusenga abamarayika, “yishimikije” ivyo yabonye, yivyimvya ata mvo ibereye afise, abitewe n’ivyiyumviro vyiwe bigengwa n’umubiri, 19 mu gihe ataguma afashe ku mutwe+, afashe wa wundi umubiri wose ubandanya gukura uvuye kuri we, ukujijwe n’ugukura gutangwa n’Imana+ mu kugaburirwa no mu kuba ufatanirijwe hamwe ukanywana neza+ biciye ku ngingo zawo n’udutsidutsi.

20 Nimba mwarapfanye+ na Kristu ku bintu vy’intango+ vyo mw’isi+, kubera iki mubandanya, nk’aho mwoba muba mw’isi, kuyoboka za ngingo zashinzwe+, 21 ngo: “Ntufate, ntiwumvirizeko+, ntukoreko+,” 22 ku bijanye n’ibintu biba bigenewe gutikira vyose iyo bikoreshejwe, mukurikije amategeko be n’inyigisho vy’abantu+? 23 Ivyo bintu nyene vy’ukuri biboneka nk’ibirimwo ubukerebutsi mu nsengo umuntu yishiriyeho hamwe n’ukwicisha bugufi kw’uruhendo, ugusesereza umubiri+; mugabo nta gaciro bifise mu bijanye n’ukurwanya uguhaza ivyipfuzo vy’umubiri+.

3 Ariko nimba mwarazuranywe+ na Kristu, nimubandanye kurondera ibintu vyo hejuru+, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+. 2 Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru+, atari ku bintu vyo kw’isi+. 3 Kuko mwapfuye+, ubuzima bwanyu+ na bwo bukaba bwaranyegejwe hamwe na Kristu mu bumwe+ n’Imana. 4 Kristu we buzima bwacu+ niyahishurwa, ni ho namwe muzohishuranwa+ na we mu buninahazwa+.

5 Nimwice+ rero ibihimba vy’umubiri+ wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri+, ivyipfuzo vyonona, n’umwina+ ari kwo gusenga ibigirwamana. 6 Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana+. 7 Ivyo nyene ni vyo na mwebwe mwagenderamwo kera igihe mwahora mubibamwo+. 8 Ariko ubu, nimuvyikunkumure koko vyose+: uburake, ishavu, ububi, ugutukana+, n’amajambo ateye isoni+ ava mu kanwa kanyu. 9 Ntimubeshane+. Mwambure wa muntu wa kera+ n’ingeso ziwe, 10 hanyuma mwambare wa muntu mushasha+, umwe agirwa mushasha hisunzwe ishusho+ y’Uwamuremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa, 11 ahatakigira Umugiriki canke Umuyuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, umunyamahanga canke Umusikite, umushumba, uwidegemvya+; mugabo Kristu ni vyose kandi muri vyose+.

12 Nuko rero, nk’abatowe n’Imana+, beranda kandi bakundwa, nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe+, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+, ubwitonzi+, n’ukwiyumanganya+. 13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera+ uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi+, namwe nyene mugenze mutyo. 14 Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo+, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge+ wunga ubumwe.

15 Vyongeye, amahoro+ ya Kristu naganze mu mitima yanyu+, kuko vy’ukuri mwahamagariwe ayo mahoro mu mubiri umwe+. Kandi mwerekane ko mushima. 16 Ijambo rya Kristu niribe muri mwebwe rigwiriye mu bukerebutsi bwose+. Mugume mwigishanya+ mwongera mukeburana mukoresheje amazaburi+, amashemezo aturwa Imana, indirimbo+ z’ivy’impwemu zijana n’igikundiro, muririmbira Yehova+ mu mitima yanyu. 17 Kandi ivyo mugira vyose mu mvugo canke mu bikorwa+, mukore vyose mw’izina ry’Umukama Yezu+, mukengurukira+ Imana ari yo Data biciye muri we.

18 Yemwe bagore, muyobokere+ abagabo banyu, nk’uko bibereye mu Mukama. 19 Yemwe bagabo, mugume mukunda abagore banyu+ kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi+. 20 Yemwe bana, mugamburukire+ abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama. 21 Yemwe ba se, ntimuratse abana banyu+, kugira ngo ntibavunike umutima. 22 Yemwe bashumba, mugamburukire muri vyose ba shobuja bo mu buryo bw’umubiri+, atari mu gukorera ijisho, nk’abahimbara abantu+, mugabo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova+. 23 Ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya+, nk’abakorera Yehova+, atari nk’abakorera abantu, 24 kuko muzi yuko Yehova+ ari we azobaha impembo ikwiriye y’intoranwa+. Mushumbire Shobuja Kristu+. 25 Nta gukeka, uwukora ikibi azokwishurwa+ ikibi yakoze, kandi nta kugira nkunzi kubamwo+.

4 Yemwe ba shebuja, mugume mugirira abashumba banyu ibigororotse n’ibitarimwo akarenganyo+, muzi yuko namwe mufise Shobuja mw’ijuru+.

2 Mushishikare gusenga+, muguma murikanuye muri ivyo hariko n’ugukenguruka+, 3 mwongera kandi mudusengera+, kugira ngo Imana itwugururire umuryango+ wo kuvuga ijambo, ngo tumenyeshe ibanga ryeranda+ ryerekeye Kristu, ari na ryo koko mbereye mu mvuto+; 4 kugira ngo ndarihishure nk’uko mbwirizwa kuvuga+.

5 Mubandanye kugendana ubukerebutsi ku bo hanze+, mwicungurira umwanya ubereye+. 6 Imvugo yanyu yamane igikundiro+, irunze umunyu+, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura+ umuntu wese.

7 Ivyanje vyose, Tikiko+ mwene wacu mukundwa akaba n’umusuku w’umwizigirwa n’umushumba mugenzanje mu Mukama, azobibamenyesha. 8 Ndamubarungikiye kugira ngo mumenye ivyacu no kugira ngo ahoze imitima yanyu+, 9 nkaba ndamurungikanye na Onezime+, mwene wacu w’umwizigirwa kandi w’umukundwa ava iwanyu. Ivy’ino vyose bazobibamenyesha.

10 Arisitariko+ imbohe mugenzanje arabaramutsa, na Mariko+ nyene incuti ya Barunaba (uwo mwategetswe guha ikaze+ aramutse aje iwanyu), 11 na Yezu ari we yitwa Yusito, abo bakaba ari abo mu bagenyerewe. Abo gusa ni bo bakozi bagenzanje ku bw’ubwami bw’Imana, kandi abo nyene bambereye imfashanyo ikomeza. 12 Epafura+ umwe ava iwanyu, akaba ari umushumba wa Kristu Yezu, arabaramutsa; yama yihata ku bwanyu mu masengesho yiwe, kugira ngo amaherezo muhagarare mukwiye+ kandi mufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose. 13 Ndamushingira intahe koko yuko yita ku rutare ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya+ no ku bw’ab’i Hiyerapoli.

14 Luka+ umuganga mukundwa arabaramutsa, na Dema+ nyene. 15 Mundamukirize bene wacu b’i Lawodiseya na Nimfa be n’ishengero riri mu nzu yiwe+. 16 Kandi iri kete niryamara gusomwa muri mwebwe, mutunganye ivy’uko risomwa+ no mw’ishengero ry’Abanyalawodiseya be n’uko namwe musoma iry’i Lawodiseya. 17 Mubwire kandi Arikipo+ muti: “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama, ubushitse.”

18 Ng’iyi indamutso yanje, iya Paulo, n’ukuboko kwanje bwite+. Mugume mwibuka imvuto zanje+. Ubuntu ata wari abukwiriye bubane namwe.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika