Ikete ryandikiwe Abafilipi
1 Paulo na Timoteyo, abashumba+ ba Kristu Yezu, turabandikiye mwebwe aberanda bose bunze ubumwe na Kristu Yezu muri i Filipi+, hamwe n’abacungezi be n’abakozi b’ishengero*+:
2 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu+.
3 Nama nantaryo nshimira Imana yanje igihe cose ndabibutse+ 4 mu gutakamba kwanje kwose ku bwanyu mwese+, uko ntakambana akanyamuneza, 5 kubera umuganda mwaterereye+ ku nkuru nziza kuva ku musi wa mbere gushika n’ubu. 6 Kuko iki kintu nyene ndakizi ntakeka: yuko uwatanguye igikorwa ciza muri mwebwe azogisozera+ gushika ku musi+ wa Yezu Kristu. 7 Birabereye rwose ko ndabiyumvirako ivyo mwese, kuko ndabafise ku mutima+, mwese mukaba musangira+ nanje ubuntu ata wari abukwiriye, haba mu mvuto+ zanje canke mu kuburanira+ inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko+.
8 Kuko Imana ari yo cabona canje c’ingene ndabakumbuye mwese ku buryo ndabumvira ikibabarwe+ nk’ico Kristu Yezu afise. 9 Kandi iki ni co nguma nsaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwogwira+ rukanarushiriza kugwira hamwe n’ubumenyi+ butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye+; 10 kugira ngo mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo+, ngo mubone kuba abatagira agahonzi+ mudatsitaza+ abandi gushika ku musi wa Kristu, 11 ngo mubone kandi kwuzuzwa ivyamwa bigororotse+ bibonekera muri Yezu Kristu, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana n’ugushemezwa kwayo+.
12 Nshaka rero ko mumenya, bene wacu, yuko ivyanje, aho kuvamwo ikindi, vyahavuye riho bituma inkuru nziza itera imbere+, 13 ku buryo imvuto zanje+ mu bijanye na Kristu zabaye akazwi na bose+ mu barinzi b’umwami bose no mu bandi bose+; 14 kandi benshi muri bene wacu mu Mukama, kubera ko bagumije umutima mu nda bivuye ku mvuto zanje, bararushiriza kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba+.
15 Ego ni ko, bamwe bariko bamamaza Kristu babitewe n’agashari be n’ugukebana+, ariko hari n’abandi babigira babikunze+. 16 Abo ba kabiri bariko bamenyekanisha Kristu babitumwe n’urukundo, kubera bazi yuko ndi ng’aha kugira mburanire+ inkuru nziza; 17 mugabo abo ba mbere babigira babitumwe n’agatima k’amahane+, batabigiranye imvo nziza, kuko bibwira ko bomvyurira amakuba+ mu mvuto zanje. 18 Bitwaye iki none? Nta na kimwe, atari uko mu buryo bwose, haba mu bwiyorobetsi+ canke mu kuri, Kristu ariko aramenyekanishwa+, kandi ivyo ndabinezererwa. Mbere nzoguma nezerwa, 19 kuko nzi yuko ivyo bizomviramwo ubukiriro biciye mu gutakamba kwanyu+ no mu kuronswa impwemu ya Yezu Kristu+, 20 nk’uko niteze ndabishashaye+ kandi nkizigira+ yuko ntazomaramara+ mu buryo na bumwe, mugabo yuko mu mwidegemvyo wo kuvuga+ wose n’ubu Kristu azoshimagizwa nk’uko vyamye, biciye ku mubiri wanje+, haba mu kubaho canke mu gupfa+.
21 Kuko mu binyerekeye, kubaho ni Kristu+, gupfa+ na kwo ni inyungu. 22 Nimba rero ari ukubandanya kubaho mu mubiri, ivyo ni icamwa c’igikorwa canje+—yamara rero ico nohitamwo nta co menyesheje. 23 Ivyo bibiri birandemera+; mugabo ico nipfuza koko ni ukubohorwa be n’ukubana na Kristu+, kuko nkako ico ari co kirushirije kuba ciza+. 24 Ariko ni nkenerwa cane ko jewe nguma mu mubiri kubera mwebwe+. 25 Kubera rero ivyo ndavyizigiye ntakeka, ndazi yuko nzogumaho+ nkagumana namwe mwese ku bw’iterambere ryanyu+ n’akanyamuneza k’ukwizera kwanyu, 26 kugira ngo umwigino wanyu usesekare muri Kristu Yezu kubera jewe, ninongera kuba* kumwe namwe.
27 Kimwe gusa, mwigenze nk’uko bibereye+ inkuru nziza yerekeye Kristu, kugira ngo nje kubaraba canke ntahari, numve ivyanyu, yuko muhagaze mushikamye mu mpwemu imwe, murwanira hamwe*+ urugamba mufatanye mu nda ku bw’ukwizera kujanye n’inkuru nziza, 28 mudaterwa ubwoba mu buryo na bumwe n’ababarwanya+. Ico nyene ni ikimenyamenya c’ugutikira kuri bo, mugabo kikaba ic’ubukiriro kuri mwebwe+; kandi ico kimenyamenya kiva ku Mana, 29 kubera ko mwatewe agateka ku bwa Kristu, atari ako kumwizera+ gusa, ariko n’ako gucumukura+ ku bwiwe. 30 Kuko murwana urugamba nk’urwo nyene mwabonye ku binyerekeye+, nk’uko n’ubu mwumva ruvugwa ku binyerekeye+.
2 Nimba rero muri mwebwe hari indemesho iyo ari yo yose muri Kristu+, nimba hari ukwirura ukwo ari kwo kwose kw’urukundo, nimba hari ugusangira impwemu+ ukwo ari kwo kwose, nimba hari ikibabarwe+ n’impuhwe ivyo ari vyo vyose, 2 nimunengesereze akanyamuneza kanje mu kuba mwiyumvira kumwe+, mufise urukundo rumwe, muhuza umutima, mukagira iciyumviro kimwe mu muzirikanyi+, 3 ata na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane+ canke ukwishira imbere+, ariko mwiyumvira mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta+; 4 umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa+, ariko arabe n’ivy’abandi+.
5 Mugumane uyu mutima muri mwebwe ari na wo wari muri Kristu Yezu+. 6 Uyo naho yari ameze nk’Imana+, ntiyiyumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana+. 7 Oya, ahubwo yarahevye vyose amera nk’umushumba+, acika uwusa n’abantu+. 8 N’ikiruta ivyo, igihe yasanga ameze nk’umuntu+, yaricishije bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu+, egome, urupfu rwo ku giti co kubabarizwako+. 9 Ico nyene ni co catumye kandi Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane+, ikamuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose+, 10 kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu+, 11 no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese+ yuko Yezu Kristu ari Umukama+ ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data+.
12 Nuko rero, bakundwa, nk’uko mwamye mugamburuka+, atari igihe ndahari gusa, mugabo n’ubu ntahari mukarushiriza kubigira mubikunze, mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya+ kandi mujugumira; 13 kuko Imana ari yo iriko ikorera muri mwebwe+, nk’uko biyihimbara, kugira ngo mugire ugushaka mwongere mukore+. 14 Mugume mukora vyose ata myidodombo+ n’impari+, 15 kugira ngo mube abatagirako umugayo+ n’intungane, abana+ b’Imana batagirako ikirabagu mw’iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze+ mukayanganamwo nk’amatara mw’isi+, 16 mukagumya rwose rya jambo ry’ubuzima+, kugira ngo nze ndonke imvo yo kwigina ku musi wa Kristu+ kubona ntirukiye ubusa canke ngo nduhire ubusa+. 17 Mugabo rero, naho nyene ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+ ku kimazi+ no ku gikorwa gikorerwa abantu ari na vyo ukwizera kwabashikanyeko+, ndahimbawe kandi nkanezeranwa+ namwe mwese. 18 Na mwebwe nyene rero, nimuhimbarwe kandi munezeranwe nanje+.
19 Nayo jewe, ndizigiye mu Mukama Yezu kubarungikira Timoteyo vuba, kugira ngo mbone kugira akamwemwe+ ninamenya ivyanyu. 20 Kuko ata wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho+ ivyanyu koko. 21 Kuko abandi bose bironderera inyungu zabo bwite+, atari iza Kristu Yezu. 22 Mugabo murazi ikimenyamenya yatanze ku bimwerekeye, yuko nka kurya kw’umwana+ ari kumwe na se, ari ko yakoranye nanje nk’umushumba mu guteza imbere inkuru nziza. 23 Uwo rero ni we nizigiye kurungika ninamara kubona ingene ivyanje vyifashe. 24 Emwe, ndazi ntakeka mu Mukama yuko nanje ubwanje nzoza vuba+.
25 Ariko mbona ko bikenewe kubarungikira Epafurodito+ mwene wacu n’umukozi mugenzanje+ akaba n’umusoda mugenzanje+, mugabo akaba intumwa mwatumye n’umukozi wanje andonsa ivyo nkenera, 26 kuko acambirwa kubabona mwese akaba kandi adendebukiwe kubera mwumvise ko yari yarwaye. 27 Egome ni vyo yararwaye ahakwa no gupfa; mugabo Imana yaramugiriye imbabazi+; mbere si we yazigiriye wenyene, ahubwo na jewe yarazingiriye, kugira ngo singire intuntu yiyongereye ku yindi. 28 Ndamurungitse rero bimwe vyihuta kugira ngo nimwamubona mwongere kunezerwa, nanje intuntu mfise irushirize kugabanuka. 29 Muramuhe ikaze rero nk’uko bisanzwe bigirwa+ mu Mukama n’akanyamuneza kose; kandi abantu nk’abo mugume mubafatana iteka+, 30 kuko yahatswe gupfa kubera igikorwa c’Umukama, ashira ubuzima bwiwe mu kaga+, kugira ngo ahababere bimwe bishitse kuko mutari muhari ngo munkorere+.
3 Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kunezerwa mu Mukama+. Kubandikira vya bindi nyene jewe nta ngorane bintera, ahubwo ni uburinzi kuri mwebwe.
2 Mwiyubare za mbwa+, mwiyubare bamwe bakora ikibi, mwiyubare barya bakebagura umubiri+. 3 Kuko ari twe dufise ukugenyerwa nyakwo+, twebwe abariko barakora igikorwa ceranda babihawe n’impwemu y’Imana+, tukaba twirata muri Kristu Yezu+ tukaba kandi tutizigira umubiri+, 4 naho na jewe nyene mfise imvo z’ukwizigira umubiri kuruta uwo ari we wese.
Nimba hari uwundi yiyumvira ko afise imvo z’ukwizigira umubiri, jeho ndi agahebuza+: 5 nagenyerewe ku musi ugira umunani+, nkaba nkomoka mu bwoko bwa Isirayeli, mu muryango wa Benyamini+, nkaba Umuheburayo yavutse ku Baheburayo+; ku bijanye n’itegeko, ndi Umufarizayo*+; 6 ku bijanye n’umwete, narahama ishengero+; ku bijanye n’ubugororotsi buboneka biciye kw’itegeko, ndi uwabonetse ko atagirako umugayo. 7 Yamara ivyahora ari inyungu kuri jewe, nabibonye nk’uruhombo kubera Kristu+. 8 Mbere ku bw’ivyo ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje+. Kubera we, naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda+, kugira ngo nunguke Kristu 9 kandi nze nsangwe mu bumwe na we, ntafise ubugororotsi bwanje bwite, bumwe buva kw’itegeko+, mugabo mfise ububoneka biciye ku kwizera+ Kristu, ari bwo bugororotsi buva ku Mana hishimikijwe ukwizera+, 10 kugira ngo ndamumenye, menye n’ububasha bw’izuka ryiwe+ nongere menye gufatanya na we mu mibabaro yiwe+, nkemera gupfa urupfu nk’urwiwe+, 11 ngo ndabe ko uko biba kwose noshikira izuka rya kare+ mu bapfuye.
12 Si uko maze guhabwa ico niteze canke kugirwa uwutagira akanenge+, ahubwo mbandanya+ urugendo rwanje ngo ndabe ko na jewe nocakira+ kimwe catuma nanje ncakirwa+ na Kristu Yezu. 13 Bene wacu, siniyumvira ko ubwanje namaze kugicakira; mugabo ico nzi co ni iki: Mu kwibagira ibiri inyuma+ nkaramiriza ku biri imbere+, 14 ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro+ ngo ndonke agashimwe+ k’ihamagarwa ryo kuduga+ twahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu. 15 Abo bose muri twebwe rero bahumuye+, tugire uwo mutima+; kandi nimba mwiyumvira ukundi ku kintu kanaka, Imana izobahishurira uwo mutima uhejeje kuvugwa. 16 Uko biri kwose, ku rugero tugezeko mu gutera imbere, tubandanye kugendera ku rutonde+ muri iyo nzira nyene.
17 Munyigane+ mwunze ubumwe, bene wacu, kandi mugumize ijisho ku bagenda bisunga akarorero twabahaye+. 18 Kuko hariho benshi, abo nahora nkunda kuvuga kera ariko ubu ho nkaba nongera kubavuga ndira, bariko bagenda nk’abansi b’igiti co kubabarizwako ca Kristu+, 19 kandi iherezo ryabo ni ugutikizwa+, kandi imana yabo ni inda yabo+, ubuninahazwa bwabo na bwo ni ibimaramare+, kandi imizirikanyi yabo iri ku bintu vyo kw’isi+. 20 Nayo twebwe, ubwenegihugu+ bwacu buri mw’ijuru+, ari na ho turindiranye igishika+ ko hazova umukiza, Umukama Yezu Kristu+, 21 ari we azohindura ukundi umubiri wacu wateterejwe+, ngo umere nk’umubiri wiwe uninahaye+, nk’uko ububasha afise bukora+, mbere bwo gushira ibintu vyose munsi y’ubuyobozi bwiwe ngo abiganze+.
4 Nuko rero, bene wacu nkunda kandi nkumbuye, kanyamuneza kanje n’urugori rwanje+, muhagarare mushikamye+ gutyo mu Mukama, bakundwa.
2 Ndahimiriza Evodiya ngahimiriza na Sintike ngo biyumvire kumwe+ mu Mukama. 3 Egome, ndagusaba nawe nyene uwo dusangiye ingǒgo*+ w’ukuri, ugume usahiriza abo bagore bafatanije nanje+ kurwanira inkuru nziza, hamwe na Kelementi be n’abandi bakozi bagenzanje+, amazina yabo+ akaba ari mu gitabu c’ubuzima+.
4 Mwame munezerwa mu Mukama+. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe+! 5 Ukugira ibitegereka kwanyu+ kumenyekane ku bantu bose. Umukama ari hafi+. 6 Ntimwiganyire ku kintu na kimwe+, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba+ hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana+; 7 maze amahoro+ y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu+ n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.
8 Ubwa nyuma, bene wacu, ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose+, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira+. 9 Ivyo mwize mukanavyemera, mukavyumva kandi mukabibona mu binyerekeye, bibe ari vyo muguma mukora+; ya Mana y’amahoro+ na yo izobana namwe.
10 Emwe, ndanezerwa rwose mu Mukama kubona ubu mugiye mwasubira kunyibuka+, ivyo mukaba mwahora vy’ukuri mubizirikana, mugabo mukabura akaryo. 11 Sindiko ndabivuga ndabitumwe n’ubukene, kuko nize kwikwira+, uko ivyanje biba vyifashe kwose. 12 Emwe, ndazi kugira bike+, nkamenya no kugira umurengera. Muri vyose, kandi uko ibintu biba vyifashe kwose, narize akabanga ko guhaga no gusonza, ko kugira umurengera no gukena+. 13 Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha+.
14 Yamara rero, mwagize neza mu kwifatanya+ nanje mu makuba yanje+. 15 Nkako, mwebwe Abafilipi murazi kandi yuko igihe inkuru nziza yatangura kumenyeshwa, hamwe nava i Makedoniya, ata shengero na rimwe ryifatanije nanje mu bijanye no gutanga be no guhabwa, atari mwebwe gusa+, 16 kubera ko n’i Tesalonika mwagize ico mundungikira rimwe, mugasubira n’ubwa kabiri, ku bw’ivyo nkenera. 17 Si uko ndiko ndonderana ubwira iyo ngabirano+, ahubwo ni uko ndonderana ubwira ivyamwa+ vyongereza ikigega canyu. 18 Ariko ndakwije muri vyose, nkagira n’umurengera. Ubu ndakwije, ko mpawe na Epafurodito+ ivyo mwarungitse bwa kamoto keza+, ikimazi cemerwa+, gihimbara Imana rwose. 19 Imana yanje+ na yo izobaronsa rwose ivyo mukeneye vyose+ ku rugero rw’ubutunzi bwayo+ bw’ubuninahazwa, biciye kuri Kristu Yezu. 20 Ubuninahazwa rero bube ubw’Imana yacu ari yo Data ibihe bitazoshira+. Amen.
21 Mundamukirize+ umweranda wese yunze ubumwe+ na Kristu Yezu. Abavukanyi bari kumwe nanje barabaramutsa. 22 Aberanda bose, ariko canecane abo mu rugo kwa Sezari, barabaramutsa+.
23 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’agatima mwerekana+.
Raba Inyongera ya 21.
Mu kigiriki ni “parusiya” (pa·rou·siʹa). Raba Inyongera ya 4.
Canke, “murwana nk’umuntu umwe.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.