Ikete ryandikiwe Abanyefeso
1 Jewe Paulo, intumwa+ ya Kristu Yezu biciye ku kugomba kw’Imana+, ndabandikiye mwebwe aberanda bari i Efeso n’abizigirwa+ bunze ubumwe+ na Kristu Yezu:
2 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye+ n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu.
3 Hahezagirwe Imana ari yo Se w’Umukama wacu Yezu Kristu+, kuko yaduhezagije+ umuhezagiro wose wo mu vy’impwemu mu bibanza vyo mw’ijuru+ mu bumwe na Kristu, 4 nk’uko nyene yadutoye+ mu bumwe na we imbere y’ishingwa+ ry’isi, kugira ngo tube beranda, tutagira ikirabagu+ imbere yayo mu rukundo+. 5 Kuko yatugeneye imbere y’igihe+ kugirwa abana bayo+ bwite biciye kuri Yezu Kristu+, nk’uko bihimbara ukugomba kwayo+, 6 ngo hashemezwe+ ubuntu ata wari abukwiriye bwayo+ buninahaye, ubwo yatugiriye n’umutima ukunze biciye ku mukundwa wayo+. 7 Muri we, turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu* tubihawe n’amaraso+ y’uwo, egome, ukubabarirwa+ amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo buri+.
8 Ubwo buntu yarabugwije kuri twebwe mu bukerebutsi+ bwose no mu gutahura ibintu neza kwose, 9 kuko yatumenyesheje rya banga ryeranda+ ry’ukugomba kwayo. Rirahuye n’ibiyihimbara, ivyo yiyemeje muri yo ubwayo+, 10 kugira ngo habe ubuyobozi+ ibihe vyashinzwe bimaze gukwira+, ni ukuvuga ukwongera gukoraniriza hamwe+ ibintu vyose muri Kristu+, ivyo mw’ijuru+ n’ivyo kw’isi+. Egome, muri we, 11 mu bumwe na we tukaba kandi twatorewe kuba ba samuragwa+, kuko twagenywe imbere y’igihe hisunzwe intumbero y’umwe akora vyose nk’uko ukugomba kwiwe guhanura+, 12 kugira ngo dukorere ishemezwa ry’ubuninahazwa bwiwe+, twebwe ababaye aba mbere mu kwizigira Kristu+. 13 Mugabo na mwebwe mwaramwizigiye aho mumariye kwumva rya jambo ry’ukuri+, ya nkuru nziza y’ubukiriro bwanyu+. Biciye kuri we kandi, aho mumariye kwemera, mwaradomweko ikidodo+ ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe+, 14 ikaba ari icemeza+ twahawe hakiri kare c’intoranwa yacu+, kugira ngo inyegu+ y’Imana ibohorwe biciye ku ncungu+, kugira ngo ubuninahazwa bwayo bushemezwe.
15 Ni co gituma na jewe, kuva aho numviye ukwizera mufise mu Mukama Yezu no ku bijanye n’aberanda bose+, 16 ntahengeshanya gushima ku bwanyu. Mbandanya kubashira mu masengesho yanje+, 17 kugira ngo ya Mana y’Umukama wacu Yezu Kristu, ari yo Data w’ubuninahazwa, ibahe impwemu y’ubukerebutsi+ n’iy’uguhishurirwa mu bumenyi butagira amakosa buyerekeye+. 18 Vyongeye, kubera yuko amaso+ y’umutima wanyu yamurikiwe+, nsenga kandi kugira ngo mumenye icizigiro+ yabahamagariye ico ari co, mumenye ubutunzi buninahaye+ ibikiye aberanda+ bwa ntoranwa ubwo ari bwo, 19 mumenye n’ubukuru buhebuje bw’ububasha+ bwayo ubwo ari bwo kuri twebwe abemera. Ubwo bukuru bubonekera mw’ikora+ ry’ubushobozi bw’inkomezi zayo, 20 iryo yakoresheje mu bijanye na Kristu hamwe yamuzura mu bapfuye+ ikamwicarika iburyo bwayo+ mu bibanza vyo mw’ijuru+, 21 hejuru cane y’intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose n’ubutware bwose+ n’amazina yose avugwa+, atari muri iki gihe*+ gusa, ariko no mu kizoza+. 22 Yashize kandi ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe+ ngo abiganze, yongera imugira umutwe ku bintu vyose+ ku bw’ishengero, 23 ari ryo mubiri wiwe+, ukunengesera+ kw’umwe yuzura vyose muri vyose+.
2 Vyongeye, ni mwebwe Imana yagize bazima naho mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu n’ibicumuro vyanyu+, 2 ivyo mwagenderamwo kera mwisunga ibintu*+ vy’iyi si, mwisunga umutware+ w’ububasha bw’ikirere, ya mpwemu+ ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi+. 3 Egome, muri bo ni ho twese twahora tugendera kera duhuza n’ivyipfuzo vy’umubiri wacu+, dukora ivyo umubiri+ n’ivyiyumviro bigomba, kandi twari dusanzwe turi abana bo kurakirwa+ nk’abandi bose. 4 Mugabo Imana, imwe igwije imbabazi+, kubera urukundo rwinshi yadukunze+, 5 yaratugize bazima hamwe na Kristu, mu gihe nyene twari twarapfiriye mu makosa+—mukaba mwakirishijwe ubuntu ata wari abukwiriye+— 6 kandi yatuzuriye+ hamwe, itwicarika hamwe mu bibanza vyo mw’ijuru+ mu bumwe na Kristu Yezu, 7 kugira ngo mu bihe bizoza+ haze herekanwe ubutunzi buhebuje+ bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo mu butoni bwayo itugirira mu bumwe+ na Kristu Yezu.
8 Mu vy’ukuri, ubwo buntu ata wari abukwiriye ni bwo mwakirishijwe biciye mu kwizera+; kandi ivyo ntibiva kuri mwebwe+, ni ingabirano y’Imana+. 9 Oya, ntibiva ku bikorwa+, kugira ngo ntihagire umuntu aronka imvo yo kwirata+. 10 Kuko turi igikorwa cayo+, tukaba twaremwe+ mu bumwe+ na Kristu Yezu kugira dukore ibikorwa vyiza+, ivyo Imana yaduteguriye imbere y’igihe+ ngo tubigenderemwo.
11 Mwibuke rero yuko kera mwari abanyamahanga ku bijanye n’umubiri+; ico gihe mwitwa “ukutagenyerwa” muvyiswe na kimwe bita “ukugenyerwa” gikorwa n’amaboko mu mubiri+— 12 mwibuke yuko ico gihe nyene mutari mufise Kristu+, mukaba mwari mwarigijwe kure+ y’ihanga rya Isirayeli mukaba na ba kavantara ku masezerano y’umuhango+, nta n’icizigiro mwari mufise+, kandi nta Mana mwagira mw’isi+. 13 Mugabo ubu, mu bumwe na Kristu Yezu, mwebwe abari kure cane kera mwarigiye hafi biciye ku maraso+ ya Kristu. 14 Kuko ari we mahoro yacu+, we yafashe ya migwi ibiri+ akayigira umwe+, agasenyura ca gihome+ cari hagati kiyitandukanya+. 15 Biciye ku mubiri wiwe+ yarakuyeho bwa bwankanyi+, rya Tegeko ry’amabwirizwa rigizwe n’ingingo zashinzwe+, kugira ngo vya bisata bibiri+ abirememwo umuntu mushasha umwe+ mu bumwe na we, agarukane amahoro; 16 no kugira ngo asubirize hamwe+ rwose Imana ivyo bisata vyompi mu mubiri umwe+ biciye kuri ca giti co kubabarizwako+, kubera ko yari yishe ubwo bwankanyi+ biciye kuri we nyene. 17 Kandi yaraje amenyesha inkuru nziza y’amahoro+ mwebwe abari kure cane, amenyesha n’amahoro abari hafi+, 18 kubera ko biciye kuri we, twebwe, vya bisata vyompi+, dushobora kwegera+ Data biciye ku mpwemu imwe+.
19 Vy’ukuri rero, ntimukiri ab’ahandi+ na kavamahanga+, ahubwo musangiye ubwenegihugu+ n’aberanda+, mukaba n’abo mu rugo+ rw’Imana, 20 kandi mwubatswe ku mushinge+ w’intumwa+ n’abahanuzi+, Kristu Yezu na we ubwiwe akaba ari we buye ry’umushinge rigumya imfuruka+. 21 Mu bumwe na we inyubakwa yose, mu kuba ifatanirijwe hamwe ikanywana+, irakura ikaba urusengero rweranda ku bwa Yehova+. 22 Mu bumwe na we+, na mwebwe nyene muriko murubakirwa hamwe ngo muhinduke ahantu Imana iba biciye mu mpwemu+.
3 Kubera ivyo, jewe Paulo, imbohe+ ya Kristu Yezu ku bwanyu, mwebwe abanyamahanga+... 2 nimba vy’ukuri mwarumvise ivyerekeye ububwiriza+ bw’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubwo nahawe ku neza yanyu, 3 yuko biciye ku guhishurirwa ari ho namenyeshejwe ibanga ryeranda+, nk’uko navyanditse muri make imbere y’aha. 4 Turavye ivyo, nimwasoma ibi murashobora kwibonera ugutegera+ mfise mw’ibanga ryeranda+ rya Kristu. 5 Mu yandi mayaruka iryo banga+ ntiryamenyeshejwe abana b’abantu nk’uko ubu ryahishuriwe+ intumwa nyeranda zayo n’abahanuzi+ biciye ku mpwemu, 6 ari ryo ry’uko abanyamahanga bobaye ba samuragwa mu bandi bakaba n’ibihimba bisangiye umubiri+ be n’abasangira natwe wa muhango+ mu bumwe na Kristu Yezu biciye ku nkuru nziza. 7 Nabaye umusuku+ w’ivyo nk’uko ya ngabirano ya gusa iri, imwe y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubwo nahawe hisunzwe ukuntu ububasha bwayo bukora+.
8 Jewe, umuntu ari hasi y’uwo hasi+ y’aberanda bose, narahawe ubuntu ata wari abukwiriye+, kugira menyeshe amahanga+ inkuru nziza yerekeye ubutunzi+ budashobora kugerwa bwa Kristu 9 no kugira ngo mfashe abantu kubona ingene ibanga ryeranda+ riyoborwa+, iryahishijwe mu Mana mu gihe kitagira urugero caheze, yo yaremye ibintu vyose+. 10 Ivyo vyabaye kugira ngo ubu, biciye kw’ishengero+, intwaro be n’ubukuru+ biri mu bibanza vyo mw’ijuru bimenyeshwe ubukerebutsi bw’Imana bw’uburyo bwinshi cane+, 11 hisunzwe ya ntumbero y’ibihe bidahera yatunganije ku bijanye na Kristu+, ari we Yezu Umukama wacu, 12 biciye kuri we tukaba dufise uyu mwidegemvyo wo kuvuga kandi tugashobora kwegera Imana+ ata mazinda, tubihawe n’ukwizera dufise muri we. 13 Ni co gituma ndabasaba kudateshwa ngo mute bitumwe n’aya makuba+ ndimwo ku bwanyu, kuko aya asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe.
14 Ku bw’ivyo, ndapfukamira+ Data+, 15 umwe umuryango+ wose mw’ijuru no kw’isi ukesha izina ryawo+, 16 kugira ngo, nk’uko ubutunzi+ bw’ubuninahazwa bwiwe buri, abahe kuba abakomeye mu muntu muri imbere+ n’ububasha biciye ku mpwemu yiwe+, 17 ngo Kristu acumbike mu mitima yanyu biciye ku kwizera kwanyu, mu rukundo+; ngo mube abashinze imizi+ kandi bahamangiwe ku mushinge+, 18 ngo mubone gushobora rwose gutegera neza+ hamwe n’aberanda bose ubwaguke n’uburebure bw’amakika n’amahagarara n’ubwimbike+, 19 no kumenya urukundo rwa Kristu+ rurengeye ubumenyi, kugira ngo mwuzure ukunengesera+ kwose Imana itanga.
20 Umwe rero ashobora gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira+, nk’uko ububasha bwiwe buriko bukorera+ muri twebwe buri, 21 ubuninahazwa bube ubwiwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu mu mayaruka yose ibihe bitazoshira+. Amen.
4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mugende nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe+, 2 muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+ be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya+, mwihanganirana mu rukundo+, 3 mwihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe+. 4 Hari umubiri umwe+, n’impwemu imwe+, nk’uko nyene mwahamagawe muri ca cizigiro kimwe+ mwahamagariwe; 5 hari Umukama umwe+, ukwizera kumwe+, ibatisimu imwe+; 6 hari Imana imwe+ ikaba na Se wa bose, iri hejuru ya bose, ikora biciye kuri bose kandi igakorera muri bose.
7 Kandi umwe wese muri twebwe yarahawe ubuntu ata wari abukwiriye+ nk’uko Kristu yageze ya ngabirano ya gusa+. 8 Ni co gituma ivuga iti: “Igihe yaduga iyo hejuru, yajanye imbohe; yatanze ingabirano z’abagabo+.” 9 None iryo jambo ngo: “igihe yaduga+,” risobanura iki atari uko kandi yamanutse mu turere two hasi, ni ukuvuga isi+? 10 Uwo nyene yamanutse ni we kandi yaduze+ kure hejuru y’amajuru yose+, kugira ashobore guha ukunengesera+ ibintu vyose.
11 Kandi hari abo yatanze ngo babe intumwa+, abo yatanze ngo babe abahanuzi+, abo yatanze ngo babe abamamaji b’injili+, abo yatanze ngo babe abungere n’abigisha+, 12 ku bw’ukubogorwa kw’aberanda+, ku bw’igikorwa c’ubusuku, ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu+, 13 kugeza twese dushikiriye ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, tugashikira urugero rw’umugabo akuze+, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu+; 14 kugira ngo ntidusubire kuba inzoya, nk’abazungazungishwa+ n’ibisebuzi tujanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho+ biciye ku mayeri+ y’abantu, biciye ku rwenge mu kurementanya uruhendo. 15 Mugabo mu kuvuga ukuri+, dukure mu bintu vyose twisunze urukundo+, dukurira muri umwe ari umutwe+, ni ukuvuga Kristu. 16 Bivuye kuri we umubiri wose+, mu kuba ufatanirijwe hamwe ukanywana kandi ugakorera hamwe biciye kw’ifatanirizo ryose ritanga ibikenewe, nk’uko igihimba kimwe cose gikora mu rugero rubereye, urafasha kugira habe ugukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo+.
17 Iki rero ni co mvuga kandi nkagishingira intahe mu Mukama, yuko mutobandanya kugenda nk’uko abo mu mahanga+ bagendera mu bupfu bw’imizirikanyi yabo+, 18 mu gihe bari mu mwiza mu bwenge bwabo+, bigijwe kure+ y’ubuzima buva ku Mana, kubera ukutamenya+ kuri muri bo, kubera ugukomantara+ kw’imitima yabo. 19 Kubera yuko babaye ibiti+, bihereje ubushirasoni*+ kugira ngo bakore n’umunoho n’akantu ubuhumane+ bw’ubwoko bwose+.
20 Mugabo mwebwe ukwo si ko mwize Kristu+. 21 Kazima vy’ukuri mwamwumvise kandi mukigishwa biciye kuri we+, nk’uko ukuri+ kuri muri Yezu, 22 yuko mukwiye kwambura wa muntu wa kera+ ahura n’ingeso zanyu za kera akononekara+ yisunze ivyipfuzo vyiwe bihendana+; 23 ahubwo yuko mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu+, 24 mukambara+ wa muntu mushasha+ yaremwe+ hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi+ bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.
25 Ku bw’ivyo, ubu ko mwiyambuye ibinyoma+, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe+, kuko turi ibihimba vya bagenzi bacu+. 26 Murake, yamara ntimucumure+; izuba ntirirenge mugishavuye+, 27 kandi ntimuhe ikibanza Shetani*+. 28 Uwiba ntiyongere kwiba+, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza+, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno+. 29 Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu+, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva+. 30 Vyongeye, ntimutuntuze impwemu nyeranda y’Imana+, iyo mwadomeshejwe ikidodo+ ku bw’umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu+.
31 Umururazi ubabaza wose+, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana+, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose+. 32 Mugabo mube abanyabuntu+ kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe+, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu+.
5 Nimwigane Imana+ rero nk’abana ikunda, 2 kandi mubandanye kugendera mu rukundo+, nk’uko na Kristu yabakunze+ akabigura, akaba ishikanwa+ n’ikimazi bihawe Imana ngo bibe akamoto keza+.
3 Ubusambanyi+ n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho+, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe+, nk’uko bibereye abantu beranda+; 4 ntihakabe n’ingeso ziteye isoni+ canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni+, ivyo bikaba ari ibintu bitabereye, ahubwo habe ugukenguruka+. 5 Kuko ibi mubizi mukaba kandi muvyemera icese, yuko ata musambanyi+ canke umuntu ahumanye canke umunyamunoho+—bisobanura uwusenga ibigirwamana—azogira ico atorana mu bwami bwa Kristu n’Imana+.
6 Ntihagire umuntu abahendesha amajambo agaragara+, kuko ivyo bintu bihejeje kuvugwa ari vyo bituma uburake bw’Imana buza ku bana b’ubugambarazi+. 7 Nuko rero ntimukifatanye na bo+; 8 kuko kera mwari umwiza+, mugabo ubu muri umuco+ mu bijanye n’Umukama. Mubandanye kugenda nk’abana b’umuco, 9 kuko ivyamwa vy’umuco bigizwe n’ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri+. 10 Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa+ ku Mukama ivyo ari vyo; 11 kandi mureke gufatanya+ na bo mu bikorwa vyabo birumvye vy’umwiza+, ahubwo nyabuna mubikangire+, 12 kuko ivyo bakorera mu mpisho biteye isoni ku buryo ata n’uwokwubahuka kubicisha mu kanwa+. 13 Kandi ibintu vyose bikangirwa+ birashirwa ahabona n’umuco, kuko ikintu cose gishirwa ahabona+ ari umuco. 14 Ni co gituma ivuga iti: “Ikangure+ wewe wisinzirira, uzuke uve mu bapfuye+, Kristu azoheza akurasire+ umuco.”
15 Nuko rero mugume muraba neza ukuntu mugenda+, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, 16 mwicungurira umwanya ubereye+, kubera ko imisi ari mibi+. 17 Mureke rero kuba imburabwenge, ahubwo mubandanye gutahura+ ukugomba+ kwa Yehova ukwo ari kwo. 18 Vyongeye, ntimuborerwe+ umuvinyu ari wo urimwo ubuhumbu+, ahubwo mugume mwuzuzwa impwemu+, 19 mubwirana amazaburi+ n’amashemezo+ aturwa Imana be n’indirimbo z’ivy’impwemu, muririmba+ mwongera mujanisha n’umuziki+ mu mitima yanyu mubigirira Yehova, 20 kandi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu mukama mukenguruka+ ku bw’ibintu vyose, mubikengurukira Imana yacu ikaba na Data.
21 Umwe wese muri mwebwe nayobokere mugenziwe+ mutinya Kristu. 22 Abagore bayobokere+ abagabo babo nk’uko bayobokera Umukama, 23 kubera ko umugabo ari umutwe w’umugore wiwe+ nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero+, akaba umukiza w’uyo mubiri. 24 Nkako, nk’uko ishengero riyobokera Kristu, abe ari ko n’abagore bayobokera abagabo babo muri vyose+. 25 Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu+ nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura+, 26 kugira ngo aryeze+, aryuhagize amazi biciye kuri rya jambo+, 27 kugira ngo azane ishengero kuri we nyene mu bwiza bwakaka bwaryo+, ritagira agatosi canke umunkanyari canke ico ari co cose muri mwene ivyo, ahubwo ribe ryeranda kandi ritagira ikirabagu+.
28 Ukwo ni ko abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe aba yikunda, 29 kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo+, nk’uko na Kristu agirira ishengero, 30 kubera ko turi ibihimba vy’umubiri wiwe+. 31 “Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya* n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” 32 Iryo banga ryeranda+ rirakomeye. Aha ndiko mvuga ku bijanye na Kristu be n’ishengero+. 33 Yamara rero kandi, umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe+ nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro+ kigera kure.
6 Bana, mugamburukire abavyeyi banyu+ mu bumwe+ n’Umukama, kuko ivyo bigororotse+: 2 “Tera iteka so na nyoko+”; ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango+: 3 “Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi+.” 4 Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera+ mu kubatoza indero+ no mu kuyobora ivyiyumviro+ vyabo nk’uko Yehova yashinze.
5 Yemwe bashumba, mugamburukire ba shobuja bo mu buryo bw’umubiri+, mutinya kandi mujugumira+ ata buryarya mufise mu mitima yanyu, nk’abagamburukira Kristu, 6 atari mu gukorera ijisho nk’abahimbara abantu+, mugabo nk’abashumba ba Kristu, mukora ukugomba kw’Imana ata kwiziganya+. 7 Mube abashumba bakorana agatima keza, nk’abakorera Yehova+, atari nk’abakorera abantu, 8 kuko muzi yuko ineza yose umwe wese yokora azoyishurwa na Yehova+, yaba umushumba canke uwidegemvya+. 9 Namwe ba shebuja, mugume mubagirira ivyo nyene, mureke iterabwoba+, kuko muzi yuko Shebuja wabo akaba n’uwanyu+ ari mw’ijuru, kandi nta kugira nkunzi+ kuba muri we.
10 Ubwa nyuma, mubandanye kwironsa ububasha+ mu Mukama no mu bushobozi+ bw’inkomezi ziwe. 11 Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho+ biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye imbere y’amayeri+ ya Shetani*; 12 kuko dufise intambara yo kunigana+, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro+, n’ubukuru+, n’abatware b’iyi si+ y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha+ mu bibanza vyo mw’ijuru. 13 Ku bw’ivyo, mutore umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana+, kugira ngo mushobore kunana kuri wa musi mubi, kandi nimwamara gukora vyose mukanoganza, muhagarare mushikamye+.
14 Muhagarare mushikamye rero, mukenyeje+ ukuri+ mu mafyinga, mwambaye ubugororotsi nk’igikingirizo c’igikiriza+, 15 ibirenge+ vyanyu na vyo vyambaye inkuru nziza y’amahoro+ nk’inkweto. 16 Hejuru ya vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera+, ari yo izobashoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha+. 17 Vyongeye, mwakire inkofero+ y’ubukiriro, be n’inkota+ y’impwemu+, ni ryo jambo ry’Imana+, 18 mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Kandi ku bw’ivyo, mugume murikanuye mudatezura mwongera mutakamba ku bw’aberanda bose, 19 no ku bwanje, kugira ngo mpabwe ubushobozi bwo kuvuga+ iyo nteranuye akanwa, mfise umwidegemvyo wo kuvuga+ ngo menyekanishe ibanga ryeranda ry’inkuru nziza+, 20 ari yo mbereye umuserukizi+ mu minyororo; kugira ngo nshobore kuvugana ubutinyutsi ku bijanye na yo nk’uko mbwirizwa kuvuga+.
21 Kugira ngo rero namwe mumenye ivyanje, ibijanye n’ukuntu merewe, Tikiko+ umuvukanyi mukundwa akaba n’umusuku w’umwizigirwa mu Mukama, azobamenyesha vyose+. 22 Ico nyene ni co gitumye ndamubarungikira, kugira ngo mumenye ibitwerekeye no kugira ngo ahoze imitima yanyu+.
23 Abavukanyi bagire amahoro n’urukundo hamwe n’ukwizera biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu. 24 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bubane n’abo bose bakunda Umukama wacu Yezu Kristu urukundo rutabora.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “urutonde rw’ibintu.”
Raba Inyongera ya 21.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Mt 19:5, akajambo k’epfo.
Raba Ef 4:27, akajambo k’epfo.