ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Abagalatiya 1:1-6:18
  • Abagalatiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagalatiya
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Abagalatiya

Ikete ryandikiwe Abagalatiya

1 Jewe Paulo+, uwabaye intumwa+ bitavuye ku bantu canke biciye ku muntu, ariko biciye kuri Yezu Kristu+ no ku Mana ari yo Data+, imwe yamuzura mu bapfuye+, 2 hamwe na bene wacu bose turi kumwe+, turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya+:

3 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu. 4 Yaritanze ku bw’ibicumuro vyacu+ kugira aturokore mu vy’iki gihe* kibi+, nk’uko ukugomba+ kw’Imana yacu ikaba na Data kuri; 5 ubuninahazwa bube ubwayo ibihe bitazoshira+. Amen.

6 Ndatangazwa n’ingene muriko mukurwa ningoga gutyo kuri Umwe+ yabahamagaza ubuntu ata wari abukwiriye bwa Kristu+, mukaja ku nkuru nziza y’ubundi bwoko+. 7 Mugabo si iyindi; ni uko gusa hari abantu bamwebamwe bariko barabadurumbanya+ kandi bagashaka gutitura inkuru nziza yerekeye Kristu+. 8 Ariko naho yoba twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze inkuru nziza twebwe twabamenyesheje, arakavumwa+. 9 Nk’uko duhejeje kubivuga, n’ubu ndabivuze: Uwo wese abamenyesha icitwa inkuru nziza kirenze ico mwakiriye+, arakavumwa.

10 Mbega none, mugira ngo ubu abo ndiko ngerageza gutuma banyurwa ni abantu canke Imana? Canke ndiko ndondera gushimisha abantu+? Hamwe noba ngishimisha abantu+, sinoba ndi umushumba wa Kristu+. 11 Kuko mbamenyesheje, bene wacu, yuko inkuru nziza jewe namenyesheje bwa nkuru nziza, atari ikintu gikomoka ku muntu+; 12 kuko ntayihawe n’umuntu canke ngo ndayigishwe, atari uko nayironse biciye ku guhishurirwa na Yezu Kristu+.

13 Nkako, mwarumvise ivy’ingeso zanje za kera mw’idini ry’Abayuda+, yuko naheba nkimonogoza mu kuguma mpama+ ishengero ry’Imana nongera ndaritikiza+, 14 kandi naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu runganwe rwanje no mu bwoko bwanje+, kuko narusha abandi kure n’iyo kugirira umwete+ imigenzo+ ya ba dawe. 15 Mugabo Imana, imwe yantandukanya n’inda ya mama ikongera ikampamagara+ biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwayo+, igihe yiyumvira ko ari vyiza 16 guhishura Umwana wayo biciye muri jewe+, kugira ngo menyeshe amahanga inkuru nziza imwerekeye+, sinaciye nja mu vyo kugisha inama inyama n’amaraso+. 17 Eka mbere sinaduze i Yeruzalemu ku babaye intumwa imbere yanje+, ahubwo naciye nja muri Arabiya, hanyuma nongera kugaruka i Damasiko+.

18 Maze haciye imyaka itatu, naraduze i Yeruzalemu+ kuramutsa Kefa+, marana na we imisi cumi n’itanu. 19 Ariko nta wundi nabonye mu ntumwa, atari Yakobo+ mwene wabo+ n’Umukama. 20 Nayo ku vyo ndabandikiye, ehe raba, imbere y’Imana sindiko ndabesha+.

21 Inyuma y’ivyo, nagiye+ mu turere two muri Siriya n’utwo muri Silisiya. 22 Ariko amashengero y’i Yudaya yari yunze ubumwe na Kristu ntiyari azi uko nsa+; 23 bahora bumva gusa ngo: “Wa muntu yahora aduhama+, ubu asigaye amenyekanisha inkuru nziza yerekeye kwa kwizera yahora atikiza+.” 24 Baca batangura kuninahaza+ Imana kubera jewe.

2 Maze inyuma y’imyaka cumi n’ine narongeye kuduga i Yeruzalemu+ ndi kumwe na Barunaba+, na Tito nyene ndamujana. 2 Mugabo naduze bivuye ku guhishurirwa+. Ndaheza nshira imbere yabo+ inkuru nziza ndiko ndamamaza mu mahanga, ariko ndabigira mu mwiherero imbere y’abagabo bari bakomakomeye, kugira ngo simpave nsanga nariko nirukira+ ubusa canke ngo nsange nari nirukiye ubusa+. 3 Yamara rero, mbere na Tito+ uwari kumwe nanje, ntiyagoberewe kugenyerwa+, naho yari Umugiriki. 4 Mugabo kubera abavukanyi b’ikinyoma+ binjijwe mu mpisho+, bakatwisobekamwo kugira batate umwidegemvyo+ dufise mu bumwe na Kristu Yezu ngo batugire+ abaja buhere... 5 abo ntitwaboroheye mu kubayobokera+, eka, habe n’isaha imwe, kugira ngo ukuri+ kw’inkuru nziza kugume muri mwebwe.

6 Mugabo ku bo wamenga hari ico bari+—naho kera boba bari bande, kuri jewe nta co bihindura+—Imana ntifatira ku kuntu umuntu aboneka inyuma+—mu vy’ukuri abo bagabo bakomakomeye jewe nta kintu gishasha bandonkeje. 7 Ahubwo riho, aho baboneye yuko nari najejwe+ inkuru nziza ku bw’abatagenyerewe+, nk’uko Petero yari yayijejwe ku bw’abagenyerewe+— 8 kuko Umwe yaha Petero ububasha bwa nkenerwa ku bw’ibanga ryo kuba intumwa ku bagenyerewe ari na we yampaye ububasha+ ku bw’abo mu mahanga; 9 egome, Yakobo+ na Kefa na Yohani, ari bo basa n’uko ari inkingi+, aho bamenyeye ubuntu ata wari abukwiriye+ nagiriwe+, baciye baha jewe na Barunaba+ ukuboko kw’ukuryo bwa kimenyetso c’uko dufadikanije+, kugira ngo twebwe tuje ku mahanga, mugabo bo bakaja ku bagenyerewe. 10 Kimwe gusa, twabwirizwa kugumiza aboro ku muzirikanyi+. Ico kintu nyene na jewe narihatiye rwose kugikora+.

11 Ariko igihe Kefa+ yaza muri Antiyokiya+, naramurwanije amaso mu yandi, kubera ko yari n’ikimutsinda+. 12 Kuko imbere y’uko hashika abantu bamwe bavuye kwa Yakobo+, yahora asangira+ n’abanyamahanga; mugabo aho bashikiye, yaciye yisokōra arikumira, kubera ugutinya+ abo mu mugwi w’abagenyerewe+. 13 Abandi Bayuda na bo barifatanije na we muri ubwo bwiyorobetsi+, ku buryo na Barunaba+ yatwawe hamwe na bo mu bwiyorobetsi bwabo. 14 Mugabo aho mboneye ko batariko bagenda batumbereye nk’uko ukuri kw’inkuru nziza kuri+, nabwiye Kefa imbere yabo bose+ nti: “Nimba wewe, naho uri Umuyuda, ubaho nk’uko amahanga abaho, ntubeho nk’uko Abayuda babaho, ugobera gute abanyamahanga ngo babeho bisunga imigenzo y’Abayuda+?”

15 Twebwe abasanzwe ari Abayuda+, tutari abacumuzi+ bo mu mahanga, 16 kubera yuko dusanzwe tuzi ko umuntu yitwa umugororotsi+ bitavuye ku bikorwa vy’itegeko ahubwo bivuye gusa ku kwizera+ kwerekeye Kristu Yezu, na twebwe twarizeye Kristu Yezu, kugira ngo twitwe abagororotsi bivuye ku kwizera kwerekeye Kristu+, bitavuye ku bikorwa vy’itegeko, kuko ata n’umwe azokwitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa vy’itegeko+. 17 Nimba rero twebwe, mu kurondera kwitwa abagororotsi biciye kuri Kristu+, natwe ubwacu tubonetse ko turi abacumuzi+, none Kristu yoba vy’ukuri ari umusuku w’igicumuro+? Ntibikabe! 18 Kuko nimba vya bintu nyene nasenyurira hasi kera ari vyo nsubiye kwubaka+, noba nerekanye ko ubwanje ndenga itegeko+. 19 Nayo jewe, biciye kw’itegeko narapfuye ku vyerekeye itegeko+, kugira ngo mbe muzima ku Mana+. 20 Manikanywe na Kristu+. Si jewe nkiriho+, ahubwo Kristu ni we ariho mu bumwe nanje+. Nkako, ubuzima mbayeho ubu+ mu mubiri, ndabubayeho ku bw’ukwizera kwerekeye Umwana w’Imana yankunze akanyigura+. 21 Simpindira ku ruhande ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana+; kuko nimba ubugororotsi buboneka biciye kw’itegeko+, Kristu mu vy’ukuri yapfiriye ubusa+.

3 Yemwe Bagalatiya b’imburabwenge, ni nde yaboheje nabi+, mwebwe aberetswe icese imbere y’amaso yanyu Yezu Kristu amanitswe+? 2 Iki gusa ni co nshaka ko munsigurira: Mbega mwaronse impwemu+ kubera ibikorwa vy’itegeko+ canke kubera mwumvise+ hanyuma mukizera? 3 Mwakabaye muri imburabwenge bigeze iyo? Inyuma y’aho mutanguriye+ mu mpwemu, ubu muriko munonosorerwa mu mubiri+? 4 None ya mibabaro myinshi mwagira, mwayigiriye ubusa+? Iyo vy’ukuri mupfuma muyigirira ubusa. 5 Umwe none abaronsa impwemu+ akanakorera ibikorwa vy’ububasha muri mwebwe+, yoba abikora kubera ibikorwa vy’itegeko canke kubera mwumvise hanyuma mukizera? 6 Nk’uko Aburahamu “yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+.”

7 Nta nkeka murazi yuko abumira ku kwizera+ ari bo bana ba Aburahamu+. 8 Icanditswe rero, kubera cabonye hakiri kare yuko Imana yokwise abanyamahanga abagororotsi bivuye ku kwizera, camenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, ari yo y’iyi: “Biciye kuri wewe amahanga yose azohezagirwa+.” 9 Abumira ku kwizera rero bariko barahezagirirwa+ hamwe na wa mwizigirwa Aburahamu+.

10 Kuko abo bose biheka ku bikorwa vy’itegeko bari munsi y’umuvumo; kuko vyanditswe ngo: “Aravumwe uwo wese ataguma mu bintu vyose vyanditswe mu muzingo w’Itegeko ngo abishitse+.” 11 Vyongeye, ivy’uko ata n’umwe yitwa umugororotsi+ ku Mana bivuye kw’itegeko biribonekeza, kuko “umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+.” 12 Itegeko rero ntiryumira ku kwizera, mugabo “uwubishitsa azobeshwaho na vyo+.” 13 Kristu mu kuducungura+ yaratubohoye+ umuvumo w’Itegeko mu gucika umuvumo+ mu kibanza cacu, kuko vyanditswe ngo: “Aravumwe umuntu wese amanitswe ku giti+.” 14 Kwari ukugira ngo umuhezagiro wa Aburahamu uze biciye kuri Yezu Kristu ku bw’amahanga+, kugira ngo turonke ya mpwemu yasezeranywe+ biciye ku kwizera kwacu+.

15 Bene wacu, mvuga nkoresheje ikigereranyo kijanye n’abantu: Iyo isezerano ryemejwe, naho riba ari iry’umuntu, nta n’umwe aryigiza ku ruhande canke ngo agire ivyo aryongerako+. 16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+. 17 Ico mvuga kandi ni iki: Ku bijanye n’isezerano ryemejwe n’Imana kera+, Itegeko ryaje inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu+ ntirishobora kurihindura ubusa ku buryo rikuraho umuhango+. 18 Kuko nimba intoranwa iboneka bivuye kw’itegeko, ntiba ikibonetse bivuye ku muhango+; mugabo Imana yahaye intoranwa Aburahamu n’umutima ukunze biciye ku muhango+.

19 None Itegeko rihari kubera iki? Ryongeweko kugira ngo ibigabitanyo bije ahabona+, kugeza hashitse+ uruvyaro rwari rwarahawe umuhango; kandi ryashikirijwe biciye ku bamarayika+, ricishwa mu kuboko kw’umuhuza+. 20 Yamara rero nta muhuza ahaba iyo ari ivyerekeye umuntu umwe gusa, ariko Imana ni imwe gusa+. 21 None Itegeko ryoba rirwanya imihango Imana yatanze+? Ntibikabe! Kuko iyo haza kuba haratanzwe itegeko rishoboye gutanga ubuzima+, ubugororotsi buba vy’ukuri bwarabonetse biciye kw’itegeko+. 22 Mugabo Icanditswe+ caratanze ibintu vyose hamwe ngo vyugaranwe n’igicumuro+, kugira ngo umuhango uva ku kwizera kwerekeye Yezu Kristu uhabwe abizera+.

23 Ariko imbere y’uko ukwizera gushika+, twari turindiwe munsi y’itegeko+, tukaba twari twaratanzwe tukugaranirwa hamwe, duhanze amaso kwa kwizera kwabwirizwa guhishurwa+. 24 Itegeko rero ryabaye umurezi atujana kuri Kristu+ kugira ngo twitwe abagororotsi+ bivuye ku kwizera. 25 Mugabo ubu ko ukwizera kwashitse+, ntitukigabwa n’umurezi+.

26 Nkako, mwese muri abana+ b’Imana biciye ku kwizera mufise muri Kristu Yezu. 27 Kuko mwese ababatijwe muri Kristu+ mwambaye Kristu+. 28 Nta Muyuda ariho canke Umugiriki+, nta mushumba ariho canke uwidegemvya+, nta mugabo ariho canke umugore+; kuko mwese muri umwe mu bumwe na Kristu Yezu+. 29 Vyongeye, nimba mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri+, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango+.

4 Ico mvuga rero, ni uko igihe samuragwa aba akiri uruyoya ata ho aba atandukaniye n’umushumba+, naho nyene aba ari we agaba ibintu vyose, 2 ahubwo aba agabwa n’abamujejwe+ be n’ababwiriza, kugeza ku musi se yashinze imbere y’igihe. 3 Na twebwe nyene, igihe twari inzoya, twaguma tujakariye ibintu vy’intango+ vy’isi. 4 Ariko aho iherezo ry’igihe gikwiye rimariye gushika+, Imana yaratumye Umwana wayo+, uwahavuye avyarwa n’umugore+ kandi akagabwa n’itegeko+, 5 kugira abohore+ abagabwa n’itegeko+ mu kubacungura, ngo natwe Imana ibone kutugira abana bayo+.

6 Ko muri abana bayo rero, Imana yararungitse impwemu+ y’Umwana wayo mu mitima yacu, iyo mpwemu ikaba isemerera iti: “Abba, Data+!” 7 Nuko rero ntukiri umushumba ahubwo uri umwana; kandi nimba uri umwana, uri na samuragwa bivuye ku Mana+.

8 Yamara rero, igihe mutari muzi Imana+, mwari mushumbiye ibisanzwe atari imana+. 9 Mugabo ubu ko mwamenye Imana, canke nako, ubu ko mwamenywe n’Imana+, mwongera gute gusubira ku bintu vy’intango vya goyigoyi+ kandi biteye akagongwe+, mugashaka kwongera kubishumbira+? 10 Murubahiriza cane imisi+ n’amezi+ n’ibiringo n’imyaka. 11 Munteye ubwoba, yuko noba nacumukuriye ubusa+ ku biberekeye.

12 Bene wacu, ndabinginze: nimumere nkanje+, kuko na jewe nahora meze nkamwe+. Nta kibi mwankoreye+. 13 Mugabo murazi yuko nabamenyesheje inkuru nziza ari bwo bwa mbere biciye ku ndwara y’umubiri wanje+. 14 Kandi icari ikigeragezo kuri mwebwe mu mubiri wanje, ntimwagikengereye canke ngo mugicirire inyeri; ahubwo mwanyakiriye nk’umumarayika+ w’Imana, nka Kristu Yezu+. 15 None bwa buhirwe mwari mufise buri hehe+? Kuko ndabashingira intahe yuko, iyaba vyari gushoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa+. 16 Mbega none ncitse umwansi+ wanyu kubera yuko ndababwira ukuri+? 17 Barabaronderana umwete+, atari mu buryo bwiza, mugabo bashaka kubanyonkorako, kugira ngo mubaronderane umwete+. 18 Mugabo ni vyiza ko muronderanwa umwete ku bw’imvo nziza+ ibihe vyose, atari igihe gusa ndi kumwe namwe+, 19 bana banje bato+, mwebwe abongeye kuntera ububabare bw’ukwibaruka gushika Kristu yubatswe muri mwebwe+. 20 Ariko ese icari kumpa nkaba ndi kumwe namwe ubu nyene+, nkavuga mu bundi buryo, kuko ivyanyu binzazaniye+.

21 Nimumbwire ntuze, mwebwe abashaka kugabwa n’itegeko+: Mbega ntimwumva ico Itegeko rivuga+? 22 Nk’akarorero, vyanditswe yuko Aburahamu yaronse abahungu babiri, umwe ku musukukazi+, uwundi na we ku mugore yidegemvya+; 23 mugabo uwo ku musukukazi mu vy’ukuri yavutse mu buryo bw’umubiri+, uwo wundi wo ku mugore yidegemvya na we amuronka biciye ku muhango+. 24 Ivyo bintu ni inkuru iri n’ico igereranya+; kuko abo bagore bagereranya amasezerano abiri+: rimwe ni iryo ku musozi Sinayi+, ari ryo rivyara abana b’ubushumba, rikaba ari Hagari. 25 Uyo Hagari rero agereranya Sinayi+, umusozi wo muri Arabiya, akaba ahwanye na Yeruzalemu y’ubu, kuko iri mu bushumba+ hamwe n’abana bayo. 26 Ariko Yeruzalemu+ yo hejuru iridegemvya, kandi ni yo mama+.

27 Kuko vyanditswe ngo: “Nezerwa wa mugore w’ingumba utavyara; turikisha usemerere, wa mugore utagira ububabare bw’ukwibaruka; kuko abana b’umugore w’intabwa ari benshi kuruta ab’umugore afise umugabo+.” 28 Twebwe rero ga bene wacu, turi abana b’umuhango nka kumwe kwa Izahaki+. 29 Mugabo nk’uko ico gihe uwavutse mu buryo bw’umubiri yatanguye guhama+ uwavutse mu buryo bw’impwemu, n’ubu ni ukwo+. 30 Yamara none, Icanditswe kivuga iki? Kigira giti: “Irukana umusukukazi n’umuhungu wiwe, kuko umuhungu w’umusukukazi atazogenda abaye samuragwa kumwe n’umwana w’umugore yidegemvya+.” 31 Ku bw’ivyo ga bene wacu, turi abana, atari ab’umusukukazi+, ahubwo ba wa mugore yidegemvya+.

5 Kristu yatugize abidegemvya+ ngo tugire mwene uwo mwidegemvyo. Shikame rero+, ntimwirekerane ngo mwongere kuboherwa ku ngǒgo* y’ubushumba+.

2 Raba! Jewe Paulo ndababwira yuko nimwagenyerwa+, Kristu ata kamaro azobagirira. 3 Vyongeye, ndongeye gushingira intahe umuntu wese agenyerwa, yuko abwirizwa gushitsa Itegeko ryose+. 4 Muratandukanijwe na Kristu, mwebwe abagerageza kwitwa abagororotsi biciye kw’itegeko+, mwaba muri bande; murahomvye ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe+. 5 Nayo twebwe, biciye ku mpwemu, turindiranye igishika ubugororotsi twizigiye kuronka bivuye ku kwizera+. 6 Kuko mu bijanye na Kristu Yezu, kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+ nta kamaro bifise, igihambaye ni ukwizera+ gukoreshwa n’urukundo+.

7 Mwariko mwiruka neza+. Ni nde yababujije kuguma mugamburukira ukuri+? 8 Ubwo buryo bwo kunyurwisha ntibuva kuri Umwe abahamagara+. 9 Akambiro gakeyi kambira igikandu cose+. 10 Ndizigiye+ ku biberekeye mwebwe abunze ubumwe+ n’Umukama yuko mutazokwiyumvira ukundi; mugabo uwuriko arabadurumbanya+, yaba nde, azokwikorera urubanza rwiwe+. 11 Nayo jewe ga bene wacu, nimba ncamamaza ukugenyerwa, kubera iki nkiriko ndahamwa? Mu vy’ukuri rero, ca gitsitaza+ c’igiti co kubabarizwako+ carakuweho+. 12 Icompa abantu bariko barondera kubatembagaza+ bagashika no ku kwikonesha+!

13 Kukaba nkako, mwahamagariwe umwidegemvyo+, bavukanyi bacu; kimwe gusa, ntimukoreshe uwo mwidegemvyo nk’akaryo ko gukabura umubiri+, ahubwo nimushumbiranire+ bivuye ku rukundo. 14 Kuko Itegeko ryose uko ringana rirangukira+ mw’ijambo rimwe, ari ryo ry’iri: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.” 15 Ariko nimba muguma muryana mwongera murotsanya+, mwiyubare ntimumarane+.

16 Mugabo mvuga nti: Gume mugenda mwisunga impwemu+, ni ho mutazoshitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe+. 17 Kuko umubiri urwanya impwemu+ mu vyo wipfuza, impwemu na yo ikarwanya umubiri; kuko ivyo bidacana uwaka, ku buryo ibintu nyene mwashaka gukora atari vyo mukora+. 18 Bisubiye, nimba muyoborwa n’impwemu+, ntimugabwa n’itegeko+.

19 Kandi ibikorwa vy’umubiri biribonekeza+, bikaba ari ubusambanyi+, ubuhumane, ubushirasoni*+, 20 ugusenga ibigirwamana, gukora ivy’ubupfumu+, inzankano, ugushihana, ishari, ukwiguburiza kw’ishavu, amahane, amacakubiri, imice, 21 inzigo, ukunywera akaborerwe+, ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo. Ndababuriye kuri ivyo, nk’uko nyene nababuriye, yuko abaza barakora+ mwene ivyo batazotorana ubwami bw’Imana+.

22 Ariko icamwa+ c’impwemu ni urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza+, ukwizera, 23 ubwitonzi, ukwigumya+. Ibintu mwene ivyo nta tegeko ribibuza+. 24 Vyongeye, abegukira Kristu Yezu, umubiri bawumanikanye n’inambu zawo be n’ivyipfuzo vyawo+.

25 Nimba tubaho twisunga impwemu, tubandanye kugendera ku rutonde twisunga impwemu nyene+. 26 Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa+, tugiriranira agashari+.

6 Bene wacu, naho umuntu yotirimuka+ imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu+ mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi+, kandi na wewe ubwawe wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+. 2 Mubandanye kwikoreranira imizigo+, gutyo mushitse rya tegeko rya Kristu+. 3 Kuko nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa+, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe. 4 Ariko umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze+, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya+ n’uwundi. 5 Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite+.

6 Vyongeye, umuntu wese ariko yigishwa+ ku munwa ijambo ry’Imana, nasangire+ ivyiza vyose n’uwutanga mwene iyo nyigisho+.

7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+; 8 kuko uwubiba ku bw’umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe+, ariko uwubiba ku bw’impwemu+ azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu+. 9 Ntiduhebe rero gukora ivyiza+, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa+. 10 Nuko rero+, tugifise umwanya ubereye wo kubigira, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera+.

11 Raba ibidome bininibinini nkoresheje mu kubandikira n’ukuboko kwanje bwite+.

12 Abo bose bashaka kwerekana ko baboneka neza mu mubiri ni bo bagerageza kubagobera ngo mugenyerwe+, kugira gusa ntibahamwe bahorwa igiti co kubabarizwako ca Kristu+, ari we Yezu. 13 Kuko na barya bagenyerwa ubwabo batagumya Itegeko+, ahubwo bashaka ko mugenyerwa kugira baronke imvo yo kwirata mu mubiri wanyu. 14 Ntibikabe yuko nokwirata, kiretse niratiye igiti co kubabarizwako+ c’Umukama wacu Yezu Kristu. Biciye kuri uyo, kuri jewe isi yaramanitswe+, kuri yo nanje nkaba naramanitswe. 15 Kuko kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+ ata co bivuze, ahubwo ikiremwa gishasha+ ni co kiri n’ico kivuze. 16 Kandi abo bose bazogendera ku rutonde bisunga iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana+.

17 Ku bw’ivyo rero, ntihagire umuntu n’umwe angora, kuko ku mubiri ndiko imyotso+ y’umushumba wa Yezu+.

18 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane n’agatima+ mwerekana, bene wacu. Amen.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika