1 Samweli
26 Mu nyuma abagabo ba Zifu+ baza kuri Sauli i Gibeya+, bavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje ku murambi wa Hakila+, urabana na Yeshimoni+?” 2 Nuko Sauli arahaguruka+, amanuka mu gahinga ka Zifu ari kumwe n’abagabo ibihumbi bitatu+, abahizi bo muri Isirayeli, aja kurondera Dawidi muri ako gahinga ka Zifu. 3 Sauli akambika ku murambi wa Hakila, uwurabana na Yeshimoni, iruhande y’inzira, mu gihe Dawidi yaba mu gahinga. Nuko abona ko Sauli yari yamukurikiye muri ako gahinga. 4 Dawidi arungika rero abatasi+ kugira ngo amenye yuko Sauli yari yaje koko. 5 Mu nyuma Dawidi arahaguruka, aja nya hantu Sauli yari yakambitse, maze Dawidi abona ahantu Sauli yari yaryamye, be na Abuneri+ mwene Neri, umukuru w’ingabo ziwe; Sauli yari aryamye imbere mw’ikambi+, abantu na bo bakambitse irya n’ino yiwe. 6 Maze Dawidi abwira Ahimeleki Umuheti+ na Abishayi+ mwene Zeruwiya+, mwene wabo na Yowabu, ati: “Ni nde amanukana nanje iyo Sauli ari, mw’ikambi?” Abishayi aca avuga ati: “Jewe ndamanukana nawe+.” 7 Nuko Dawidi ajana na Abishayi mw’ijoro aho nya bantu bari; maze basanga Sauli aryamye imbere mw’ikambi asinziriye, icumu ryiwe rishinze hasi, hafi y’umutwe wiwe; Abuneri n’abantu, bari baryamye irya n’ino yiwe.
8 Maze Abishayi abwira Dawidi ati: “Uyu musi Imana itanze umwansi wawe mu kuboko kwawe+. Ubu rero, ndakwinginze undeke ndamutobekeranye n’isi rimwe gusa, nkoresheje icumu; sindamutobekeranya kabiri.” 9 Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: “Ntumukureho: mbega ni nde yatumye ukuboko ngo agirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+ akaguma atagira ikimwagira+?” 10 Dawidi abandanya kuvuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, Yehova azomwikubitira+; canke umusi uri izina+ azopfa nk’abandi bose, canke azomanuka mu rugamba+ maze azimanganywe ata kabuza+. 11 Ni ibitokwiyumvirwa+ kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu+, ko notuma ukuboko kwanje+ ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+! None rero ndakwinginze utore icumu riri hafi y’umutwe wiwe n’ikarabiya ry’amazi, duheze twigire.” 12 Nuko Dawidi atora nya cumu na nya karabiya ry’amazi hafi y’umutwe wa Sauli baraheza barigira; ntihagira uwubibona+ canke uwubimenya canke uwikangura, kuko bose bari basinziriye, kubera yuko itiro rirerire+ rivuye kuri Yehova ryari ryabahwikiye. 13 Maze Dawidi aja hakurya, ahagarara kw’isonga ry’umusozi nka hariya; ikirere cari hagati yabo cari kinini.
14 Dawidi atangura rero gutera akamo nya bantu na Abuneri mwene Neri, ati: “Mbega ntiwishura ga Abuneri?” Abuneri+ arishura rero, avuga ati: “Uri nde wewe uteye akamo umwami?” 15 Dawidi abandanya kubwira Abuneri ati: “Mbega nturi umugabo? Kandi ni nde ameze nkawe muri Isirayeli? Kubera iki none utarinze umukama wawe umwami? Kuko umwe mu bantu yinjiye kugira akureho umwami umukama wawe+. 16 Ico kintu wakoze si ciza. Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, mukwiye gupfa+, kuko mutarinze+ umukama wanyu, uwo Yehova yarobanuje amavuta+. Ubu rero, nimurabe aho icumu ry’umwami n’ikarabiya ry’amazi+ biri, bimwe vyari hafi y’umutwe wiwe.”
17 Sauli rero amenya ijwi rya Dawidi, avuga ati: “Iryo jwi ni iryawe ga mwananje Dawidi+?” Dawidi na we avuga ati: “Ni ijwi ryanje, mukama wanje umwami.” 18 Yongerako ati: “Kubera iki umukama wanje ariko yoma inyuma umusuku wiwe+? Nkako, nakoze iki? Kandi ni ububi ubuhe buri mu kuboko kwanje+? 19 Ubu rero ndakwinginze, umukama wanje umwami yumvirize amajambo y’umusuku wiwe: Nimba Yehova ari we yagusunikiye kundwanya, namotere ishikanwa ry’intete+. Mugabo nimba ari abana b’abantu+, baravumwe imbere ya Yehova+, kuko uyu musi banyirukanye ngo siniyumvemwo ko nifatanije n’intoranwa ya Yehova+, mu kuvuga bati: ‘Genda ukorere izindi mana+!’ 20 Ubu rero, ntureke ngo amaraso yanje akorokere hasi mu maso ya Yehova+; kuko umwami wa Isirayeli yasohotse kurondera imbaragasa imwe rudende+, nk’uko umuntu ahiga inkware ku misozi+.”
21 Nuko Sauli avuga ati: “Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, kuko ntazosubira kukugirira nabi, kubera yuko ubuzima bwanje bwabaye ubw’agaciro+ mu maso yawe uyu musi. Ehe nakoze ivy’ubupfu, kandi nahuvye cane.” 22 Maze Dawidi arishura, ati: “Ng’iri icumu ry’umwami; umwe mu misore najabuke aritore. 23 Yehova ni we azokwishura umwe wese ubugororotsi+ bwiwe bwite n’ubwizigirwa bwiwe bwite, kuko Yehova uno musi yagutanze mu kuboko kwanje, nanje sinashaka gutuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+. 24 Kandi ehe, nk’uko ubuzima bwawe bwabaye ubuhambaye uyu musi mu maso yanje, abe ari ko ubuzima bwanje buba ubuhambaye mu maso ya Yehova+, kugira ngo andokore mu marushwa yose+.” 25 Sauli aca abwira Dawidi ati: “Uragahezagirwa, mwananje Dawidi. Emwe, uzokora ibintu bikomeye kandi uzotahukana intsinzi ata kabuza+.” Nuko Dawidi arigira; Sauli na we asubira ahantu hiwe+.