2 Ngoma
30 Nuko Hezekiya atuma kuri Isirayeli yose+ na Yuda, mbere yandikira amakete Efurayimu+ na Manase+, ngo baze ku nzu ya Yehova+ i Yeruzalemu kugira bahimbarize pasika*+ Yehova Imana ya Isirayeli. 2 Ariko umwami n’abaganwa biwe+ be n’ishengero ryose+ i Yeruzalemu biyemeza guhimbaza pasika mu kwezi kugira kabiri+; 3 kuko batari bashoboye kuyihimbaza ico gihe+, kubera ko ku ruhande rumwe ata baherezi bahagije+ bari biyejeje, ku rundi ruhande na ho abantu batari bakoraniye i Yeruzalemu. 4 Ico kintu kiba ikibereye mu maso y’umwami no mu maso y’ishengero ryose+. 5 Bafata rero ingingo y’uko haterwa akamo+ muri Isirayeli yose, kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+, kugira baze guhimbariza pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu; kuko batari babigize ari benshi+, nk’uko vyanditswe+.
6 Nuko abirutsi+ bafise amakete avuye mu kuboko kw’umwami n’ukw’abaganwa biwe+ bakwiragira muri Isirayeli yose na Yuda, egome, bisunze ibwirizwa ry’umwami, kugira ngo bavuge bati: “Yemwe bene Isirayeli, nimugaruke+ kuri Yehova Imana+ ya Aburahamu na Izahaki na Isirayeli, kugira ngo agaruke ku basigaye muri mwebwe bakize+ ikiganza c’abami ba Ashuri+. 7 Ntimube nka ba sogokuruza banyu+ na bene wanyu bahemutse kuri Yehova Imana ya ba sekuruza babo, ku buryo abagira akajoreza+, nk’uko muvyibonera. 8 None rero ntimudadaze izosi+ nk’uko ba sogokuruza banyu bagize. Nimworohere Yehova+, muze aheranda hiwe+ yejeje+ gushika igihe kitagira urugero, mukorere+ Yehova Imana yanyu, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba+ ribaveko. 9 Kuko nimwagaruka+ kuri Yehova, bene wanyu n’abana banyu bazoba abo kwumvirwa imbabazi+ imbere y’ababagize imbohe, maze bemererwe kugaruka muri iki gihugu+; kuko Yehova Imana yanyu ari umunyempuhwe+ n’umunyembabazi+, kandi ntazobakurako amaso nimwamugarukako+.”
10 Nuko nya birutsi+ barabandanya, bava mu gisagara baja mu kindi mu gihugu cose ca Efurayimu+ na Manase, egome, gushika muri Zebuloni; mugabo baguma babashinyagurira bongera babatwengera mw’ijigo+. 11 Abantu+ bo muri Asheri na Manase no muri Zebuloni ni bo gusa bicishije bugufi+ baza i Yeruzalemu. 12 Ukuboko kw’Imana y’ukuri kuba no muri Yuda kugira kubahe umutima umwe+ ngo bashitse ibwirizwa+ ry’umwami n’abaganwa ku bijanye n’ibintu vya Yehova+.
13 Nuko bakoranira hamwe i Yeruzalemu+, ari abantu benshi, kugira bahimbaze umusi mukuru+ w’udutsima tutarimwo umwambiro mu kwezi kugira kabiri+, ari ishengero ryinshi cane. 14 Maze barahaguruka, bakuraho ibicaniro+ vyari i Yeruzalemu, bakuraho n’ibicaniro+ vyose vy’imibavu baraheza babiterera mu mwonga Kidironi+. 15 Inyuma y’ivyo bakerera imbagwa ya pasika+ ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kugira kabiri; abaherezi n’Abalewi bari bacishijwe bugufi ku buryo biyeza+ maze bakazana mu nzu ya Yehova amashikanwa aturirwa. 16 Nuko baguma bahagaze+ mu kibanza cabo nk’uko ingingo yabo yari, bisunze itegeko rya Musa umuntu w’Imana y’ukuri, abaherezi+ bakamijagira amaraso bahawe n’Abalewi. 17 Kuko mw’ishengero hari benshi batari biyejeje; kandi Abalewi+ bari bajejwe gukerera imbagwa za pasika+ ku bw’abari bahumanye bose, kugira babereze Yehova. 18 Kuko benshi mu bantu, benshi bo muri Efurayimu+ na Manase+ na Isakari na Zebuloni+, batari bihumanuye+, kuko batariye pasika nk’uko vyanditswe+; mugabo Hezekiya arabasengera+, ati: “Yehova ubwiwe, we mwiza+, agirire imbabazi 19 umuntu wese yateguriye umutima wiwe+ kurondera Imana y’ukuri, Yehova, Imana ya ba sekuruza biwe, naho atoba yityoroye ku bw’ivyeranda+.” 20 Nuko Yehova yumviriza Hezekiya, akiza abantu+.
21 Bene Isirayeli bari i Yeruzalemu bahimbaza rero umusi mukuru+ w’udutsima tutarimwo umwambiro mu kiringo c’imisi indwi banezerewe cane+; Abalewi+ n’abaherezi+ baguma bashemeza Yehova ku musi ku musi bakoresheje ibicurarangisho bivuga cane, egome, bashemeza Yehova+. 22 Vyongeye, Hezekiya aremesha+ Abalewi bose bariko bakorana ukwiyubara kwiza mu gikorwa ca Yehova+. Nuko bamara imisi indwi barya ivy’uwo musi mukuru washinzwe+, bashikana ibimazi vy’ugusangira+ bongera bâturira ibicumuro vyabo+ Yehova Imana ya ba sekuruza babo.
23 Maze ishengero ryose rifata ingingo+ yo kuwuhimbaza n’iyindi misi ndwi+, gutyo bawuhimbaza imisi indwi banezerewe. 24 Kuko Hezekiya umwami wa Yuda ubwiwe yaterereye+ ku bw’ishengero amashūri igihumbi n’intama ibihumbi indwi, abaganwa+ na bo bagaterera ku bw’ishengero amashūri igihumbi n’intama ibihumbi cumi; maze abaherezi+ baguma biyeza ari benshi. 25 Nuko ishengero ryose rya Yuda+, n’abaherezi, n’Abalewi+, n’ishengero ryose ryari ryavuye muri Isirayeli+, na ba kavamahanga+ bari bavuye mu gihugu ca Isirayeli+, n’ababa muri Yuda, babandanya kunezerwa+. 26 Haba umunezero mwinshi i Yeruzalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo+ mwene Dawidi umwami wa Isirayeli hatari harigeze kuba ibimeze nk’ivyo i Yeruzalemu+. 27 Amaherezo abaherezi, Abalewi, barahaguruka hanyuma bahezagira+ abantu; nuko Imana yumva ijwi ryabo, ku buryo isengesho ryabo rishika ahantu heranda iba, mu majuru+.