Zakariya
12 Ijambo ryamenyeshejwe: “Ijambo rya Yehova ryerekeye Isirayeli,” ni ko Yehova avuze, Umwe aramvura amajuru+, agashinga umushinge w’isi+ kandi akarema impwemu+ y’umuntu muri we. 2 “Ehe Yeruzalemu+ ngira ndayigire ibakure itera ibizunguzungu ibisata vy’abantu vyose biyikikije+; umwansi azosugereza na Yuda, eka mbere na Yeruzalemu+. 3 Kuri uwo musi+ Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera+ ibisata vy’abantu vyose. Abazoriterura bose ntibazobura gukobagurika bikomeye; kandi amahanga yose yo kw’isi azokorana kugira ayirwanye+. 4 Kuri uwo musi+,” ni ko Yehova avuze, “ifarasi+ yose nzoyiteza ukuzazanirwa, uwuyigenderako na we ndamuteze ibisazi+; nzogumiza amaso ku nzu ya Yuda+, kandi ifarasi yose y’ibisata vy’abantu nzoyiteza uruhumyi. 5 Abatware*+ ba Yuda bazovuga koko mu mutima wabo bati: ‘Ababa i Yeruzalemu ni inkomezi zanje biciye kuri Yehova nyen’ingabo Imana yabo+.’ 6 Kuri uwo musi, abatware ba Yuda nzobagira nk’inkono irimwo umuriro iri mu biti+, nk’ikimuri mu mikama y’ibinyantete ihejeje gutemwa+; bazoyigiza koko iburyo n’ibubamfu bw’ibisata vy’abantu vyose bibakikije+; kandi vy’ukuri Yeruzalemu izosubira kubamwo abantu mu kibanza cayo bwite, ni ukuvuga i Yeruzalemu+.
7 “Kandi Yehova azobanza gukiza amahema ya Yuda, kugira ngo ubwiza bw’inzu ya Dawidi n’ubwiza bw’ababa i Yeruzalemu ntibube bwinshi birenze kurusha ubwa Yuda. 8 Kuri uwo musi, Yehova azokingira irya n’ino ababa i Yeruzalemu+; kandi kuri uwo musi uwutsitara muri bo azoba koko nka Dawidi+, inzu ya Dawidi na yo ibe nk’Imana+, nk’umumarayika wa Yehova imbere yabo+. 9 Emwe, kuri uwo musi, nzorondera kuzimanganya amahanga yose aza kurwanya Yeruzalemu+.
10 “Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ubutoni+ n’ukwinginga+, kandi bazoraba koko Uwo basogōse+, bamuborogere vy’ukuri nk’ababorogera umwana w’ikinege; bazomucurira intimba rwose nk’abacurira intimba umwana w’imfura+. 11 Kuri uwo musi, ukuboroga i Yeruzalemu kuzoba ugukomeye, nka kwa kuboroga kw’i Hadadirimoni mu kiyaya c’umubande ca Megido+. 12 Igihugu kizoboroga koko+, umuryango umwumwe wose ukwawo; umuryango w’inzu ya Dawidi ukwawo, n’abagore babo ukwabo+; umuryango w’inzu ya Natani+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 13 umuryango w’inzu ya Lewi+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; umuryango w’inzu y’Abashimeyi+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 14 imiryango yose isigaye, umuryango umwumwe wose ukwawo, n’abagore babo ukwabo+.