ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 46
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli 46:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:32
  • +Ezk 44:2
  • +Kv 20:9
  • +Zb 81:3; Yes 66:23

Ezekiyeli 46:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 44:3
  • +Ezk 41:21
  • +2Ng 29:29

Ezekiyeli 46:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 66:23; Lk 1:10

Ezekiyeli 46:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:9; Ezk 45:17

Ezekiyeli 46:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:12; Ezk 45:24
  • +Gus 16:17
  • +Lw 14:21; Ezk 46:11

Ezekiyeli 46:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Am 8:5
  • +1Ng 23:31

Ezekiyeli 46:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:36; Ezk 45:24

Ezekiyeli 46:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 45:16, 22
  • +Ezk 46:2

Ezekiyeli 46:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:14; Gus 16:16
  • +Ezk 40:20
  • +Ezk 40:24

Ezekiyeli 46:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 7:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 24

Ezekiyeli 46:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:2; Gh 29:1; Gus 16:10
  • +Ezk 45:24; 46:7

Ezekiyeli 46:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3; 1Bm 3:4
  • +Ezk 46:1
  • +Ezk 45:17
  • +Ezk 46:2

Ezekiyeli 46:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:38; Gh 28:3

Ezekiyeli 46:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:5

Ezekiyeli 46:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 25:10

Ezekiyeli 46:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 21:19; Ezk 22:27
  • +Ezk 34:5

Ezekiyeli 46:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:9
  • +Ezk 42:1

Ezekiyeli 46:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:31; 2Ng 35:13
  • +Ezk 44:29
  • +Lw 2:4, 5
  • +Ezk 44:19

Ezekiyeli 46:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 2:13

Ezekiyeli 46:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 35:13; Ezk 46:20

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 46:1Ezk 40:32
Ezk. 46:1Ezk 44:2
Ezk. 46:1Kv 20:9
Ezk. 46:1Zb 81:3; Yes 66:23
Ezk. 46:2Ezk 44:3
Ezk. 46:2Ezk 41:21
Ezk. 46:22Ng 29:29
Ezk. 46:3Yes 66:23; Lk 1:10
Ezk. 46:4Gh 28:9; Ezk 45:17
Ezk. 46:5Gh 28:12; Ezk 45:24
Ezk. 46:5Gus 16:17
Ezk. 46:5Lw 14:21; Ezk 46:11
Ezk. 46:6Am 8:5
Ezk. 46:61Ng 23:31
Ezk. 46:7Kv 16:36; Ezk 45:24
Ezk. 46:8Ezk 45:16, 22
Ezk. 46:8Ezk 46:2
Ezk. 46:9Kv 23:14; Gus 16:16
Ezk. 46:9Ezk 40:20
Ezk. 46:9Ezk 40:24
Ezk. 46:102Ng 7:4
Ezk. 46:11Lw 23:2; Gh 29:1; Gus 16:10
Ezk. 46:11Ezk 45:24; 46:7
Ezk. 46:12Lw 1:3; 1Bm 3:4
Ezk. 46:12Ezk 46:1
Ezk. 46:12Ezk 45:17
Ezk. 46:12Ezk 46:2
Ezk. 46:13Kv 29:38; Gh 28:3
Ezk. 46:14Gh 28:5
Ezk. 46:17Lw 25:10
Ezk. 46:181Bm 21:19; Ezk 22:27
Ezk. 46:18Ezk 34:5
Ezk. 46:19Ezk 42:9
Ezk. 46:19Ezk 42:1
Ezk. 46:20Kv 29:31; 2Ng 35:13
Ezk. 46:20Ezk 44:29
Ezk. 46:20Lw 2:4, 5
Ezk. 46:20Ezk 44:19
Ezk. 46:231Sm 2:13
Ezk. 46:242Ng 35:13; Ezk 46:20
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
Bibiliya y’isi nshasha
Ezekiyeli 46:1-24

Ezekiyeli

46 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Irembo ry’ikigo c’indani riraba mu buseruko+ rize rigume ryugaye+ mu misi itandatu y’ibikorwa+; ku musi w’isabato rize ryugururwe; no ku musi w’imboneko y’ukwezi rize ryugururwe+. 2 Umukuru aze yinjire aciye mu nzira y’ibaraza ry’iryo rembo+, azananye hanze, ahagarare iruhande y’igishimaryango c’iryo rembo+; abaherezi baze bahereze ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vy’ugusangira, na we aze yuname ku rwinjiriro rw’iryo rembo+, hanyuma asohoke, mugabo iryo rembo ntirize ryugarwe hatarashika ku mugoroba. 3 Kandi abanyagihugu baze buname ku bwinjiriro bw’iryo rembo ku masabato no ku mboneko z’ukwezi, imbere ya Yehova+.

4 “‘Ishikanwa riturirwa uko ryakabaye umukuru azoshikiriza Yehova ku musi w’isabato, rize ribe iry’imyagazi y’intama itandatu y’amasuguru itagira agahonzi, be n’impfizi y’intama itagira agahonzi+, 5 n’ingero imwe ya efa y’ishikanwa ry’intete ku bw’iyo mpfizi y’intama+, hanyuma ku bw’iyo myagazi y’intama y’amasuguru ashikirize ishikanwa ry’intete nk’uko azoba ashoboye gutanga+; ku mavuta na ho, aze ashikirize ingero imwe ya hini kuri efa+. 6 Ku musi w’imboneko y’ukwezi na ho+, haze habe ikimasa co mu busho kitagira agahonzi, n’imyagazi itandatu y’intama y’amasuguru be n’impfizi y’intama; bizobe ari ibitagira agahonzi+. 7 Kandi aze ahereze efa imwe ku bw’ico kimasa na efa imwe ku bw’iyo mpfizi y’intama, bwa shikanwa ry’intete, no ku bw’iyo myagazi y’intama y’amasuguru bivanye n’ivyo ashoboye kuronka; ku mavuta na ho, aze ahereze ingero imwe ya hini kuri efa+.

8 “‘Umukuru+ niyinjira, aze yinjirane inzira y’ibaraza ry’irembo, kandi inzira yaryo izobe ari yo asohokana+. 9 Kandi abanyagihugu nibaza imbere ya Yehova mu biringo vy’imisi mikuru+, uwuzokwinjirana inzira y’irembo ryo mu buraruko+ aje kwunamira Imana, aze asohokane inzira y’irembo ryo mu bumanuko+; uwuzokwinjirana inzira y’irembo ryo mu bumanuko na we aze asohokane inzira y’irembo riraba mu buraruko. Nta wuzosubira inyuma aciye mu nzira y’irembo yinjiranye, kuko akwiye gusohoka atumbereye imbere yiwe. 10 Ku bijanye n’umukuru ari hagati muri bo, nibinjira, na we aze yinjire; nibasohoka, na we aze asohoke+. 11 Mu misi mikuru+ no mu biringo vy’imisi mikuru, ishikanwa ry’intete rize ribe efa imwe ku bwa ca kimasa na efa imwe ku bwa ya mpfizi y’intama, no ku bwa ya myagazi y’intama y’amasuguru atange nk’uko ashoboye; ku mavuta na ho, ize ibe ingero imwe ya hini kuri efa+.

12 “‘Umukuru niyazana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye ngo ribe ishikanwa ritangwa ku bushake+, canke akazana ibimazi vy’ugusangira ngo bibe ishikanwa ritangwa ku bushake rihabwa Yehova, haze hagire rero uwumwugururira rya rembo riraba mu buseruko+, kandi aze azane ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vy’ugusangira, nk’uko abigira ku musi w’isabato+. Maze aze asohoke, hanyuma hagire uwugara iryo rembo amaze gusohoka+.

13 “‘Kandi uze uzane buri musi umwagazi w’intama w’isuguru utagira agahonzi, mu mwaka wawo wa mbere, ngo ube ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova+. Uze urizane buri gitondo. 14 Uze urizanane n’ica gatandatu ca efa buri gitondo bwa shikanwa ry’intete, be n’ica gatatu ca hini y’amavuta yo kumijagira ya fu inoze+. Ishikanwa ry’intete rihabwa Yehova ni icagezwe camaho igihe kitagira urugero, nantaryo. 15 Baze bazane umwagazi w’intama w’isuguru n’ishikanwa ry’intete be n’amavuta buri gitondo, bibe ishikanwa riturirwa uko ryakabaye ritangwa ubudasiba.’

16 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Umukuru niyaha ingabirano umwe wese mu bana biwe ngo ibe intoranwa yiwe, iyo izokwegukira abana biwe ubwabo. Ni itongo ribegukira bwa ntoranwa. 17 Niyaha umwe mu basuku biwe ingabirano ivuye ku ntoranwa yiwe, ize rero ibe iy’uwo musuku gushika mu mwaka w’ukurekurwa+; ize iheze isubire kuri nya mukuru. Intoranwa yiwe gusa, iyo yahaye abana biwe, ni yo izoguma ari rwabo. 18 Kandi umukuru ntaze agire ico atwara ku ntoranwa y’abanyagihugu ngo abomore mu matongo yabo+. Aze ahe abana biwe intoranwa kw’itongo ryiwe, kugira ngo abantu banje ntibasanzare, umwe wese akava mw’itongo ryiwe+.’”

19 Araheza anzana ancishije mu rwinjiriro+ rwari iruhande y’irembo rija ku vyumba vy’uburiro vyeranda vyaraba mu buraruko+, bimwe vy’abaherezi, maze, ehe hari ikibanza ng’aho ku mpande z’inyuma zompi amaja mu burengero. 20 Araheza ambwira ati: “Iki ni co kibanza abaherezi bazotekeramwo ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ be n’ishikanwa ry’igicumuro+, kandi ni ho bazokarangira ishikanwa ry’intete+, kugira ngo ntihagire ikintu na kimwe gitwarwa hanze mu kigo c’inyuma ngo abantu bezwe+.”

21 Araheza aransohora anzana mu kigo c’inyuma, arantembereza, anjana kuri vya bikingi vy’imfuruka bine vy’ico kigo, maze, ehe hari akago iruhande y’iki gikingi c’imfuruka ca nya kigo, n’akago iruhande ya kiriya gikingi c’imfuruka ca nya kigo. 22 Kuri ivyo bikingi vy’imfuruka bine vy’ikigo hari utugo dutoduto, tw’amatambwe mirongo ine mu burebure n’amatambwe mirongo itatu mu bwaguke. Uko ari tune, tukagira inyubako z’imfuruka, twari dufise ingero imwe. 23 Kandi hari umusitari ku mpande zatwo zose, ku mpande zatwo zose uko ari tune, hakaba n’ibibanza vyo gutekeramwo+ vyakozwe munsi ya nya misitari, mu mpande zose. 24 Maze ambwira ati: “Aya ni yo mazu y’abateka, aho abasuku b’iyi Nzu batekera ikimazi abantu bazanye+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika