Yona
1 Ijambo rya Yehova riza kuri Yona+ mwene Amitayi, riti: 2 “Haguruka, uje i Ninewe+ ca gisagara gikomeye, ugitangarize yuko ububi bwabo bwaduze bugashika imbere yanje+.”
3 Maze Yona arahaguruka, ava imbere ya Yehova+ ahungira i Tarushishi+; amaherezo amanuka i Yopa+, abona imeri ija i Tarushishi. Nuko ariha itike, amanuka muri yo kugira ajane n’abari muri yo i Tarushishi ave imbere ya Yehova.
4 Yehova arekurira rero umuyaga ukomeye ku kiyaga+, haba igihuhusi gikomeye+ ku kiyaga; nuko nya meri ihakwa gusāba. 5 Abagendesha nya meri baratinya maze batangura gutabaza, umwe wese atabaza imana yiwe+. Baguma bashiburira mu kiyaga ibintu vyari mu meri, kugira bayiremurure ivyo bintu+. Mugabo Yona yari yamanutse epfo mu gice co hasi ca nya meri ifise idari, araryama, arasinzira ubutikoma+. 6 Vyakabaye kera, umukapitene w’imeri aramwegera, amubwira ati: “Vyakugendeye gute ga wa muntu usinziriye? Haguruka wambaze imana yawe+! Hari aho Imana y’ukuri yotwitaho ntituyogere+.”
7 Maze batangura kubwirana bati: “Nimuze dupfinde ubupfindo+, kugira tumenye uwutumye dushikirwa n’ibi vyago+.” Baguma bapfinda rero ubupfindo, amaherezo ubupfindo bugwa kuri Yona+. 8 Nuko bamubwira bati: “Turakwinginze utubwire: ni nde atumye dushikirwa n’ibi vyago+? Ukora igikorwa nyabaki, kandi uva he? Igihugu cawe ni ikihe, kandi uva mu kihe gisata c’abantu?”
9 Na we ababwira ati: “Ndi Umuheburayo+, nkaba ntinya+ Yehova Imana y’amajuru+, uwashizeho ikiyaga n’isi yumutse+.”
10 Nya bantu baratinya cane, bamubwira bati: “Ivyo wakoze ni ibiki+?” Kuko nya bantu bari bamenye yuko yariko arahunga Yehova, kuko yari yabibabwiye. 11 Amaherezo, bamubwira bati: “Tukugire dute+ ngo ikiyaga gihwame kitureke?” Kuko ikiyaga caguma kirushiriza gusebura. 12 Ababwira rero ati: “Nimunterure munterere mu kiyaga, ikiyaga gica gihwama kibareke; kuko nzi yuko ico gihuhusi gikomeye kibateye kubera jewe+.” 13 Mugabo nya bantu bagerageza kwicira inzira ngo bagarukane nya meri kw’isi yumutse, ariko ntibabishobora, kuko ikiyaga caguma kirushiriza gusebura+.
14 Nuko bambaza Yehova+ bati: “Ewe Yehova, turakwinginze twoye kuyogera tuzira ubuzima bw’uyu muntu! Kandi ntudushireko amaraso y’intungane+, kuko wewe, ewe Yehova, wakoze nk’uko biguhimbara+!” 15 Maze baterura Yona, bamuta mu kiyaga; ikiyaga kibona guturura, uburake bwaco burahwama+. 16 Nya bagabo baca batangura gutinya Yehova cane+, gutyo bashikanira ikimazi Yehova+ bongera bagira indagano+.
17 Maze Yehova arungika urufi runini ngo rumire Yona+, bituma Yona amara imbere muri nya rufi imisi itatu n’amajoro atatu+.