ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Nehemiya 1:1-13:31
  • Nehemiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nehemiya
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Nehemiya

NEHEMIYA

1 Ng’aya amajambo ya Nehemiya*+ mwene Hakaliya: mu kwezi kwa Kisilevu* mu mwaka ugira 20*, nari ku kirimba* i Shushani*+. 2 Ico gihe, mwenewacu umwe yitwa Hanani+ yaraje kundaba ari kumwe n’abandi bagabo bavuye mu Buyuda. Ntangura kubabaza amakuru y’abasigaye mu Bayuda bavuye mu bunyagano+ n’amakuru y’i Yeruzalemu. 3 Bishura bati: «Hariya mu ntara y’Ubuyuda, abasigaye mu bavuye mu bunyagano bamerewe nabi cane kandi bari mu bimaramare+. Inzitiro z’i Yeruzalemu zarasenyutse+, amarembo yaho na yo aturizwa umuriro+.»

4 Ncumva ayo majambo, nca ndicara ntangura kurira, mara imisi ngandaye. Nguma nisonzesha+ nongera nsengera imbere y’Imana yo mw’ijuru. 5 Mvuga nti: «Ewe Yehova Mana yo mw’ijuru, Mana ihambaye kandi iteye akoba, wewe ushitsa ivyo wasezeranye ukongera ukereka urukundo* abagukunda bakubahiriza amabwirizwa yawe+, 6 ndakwinginze utege ugutwi, wongere witegereze n’amaso yawe. Ndakwinginze wumvirize isengesho jewe umusavyi wawe ndagutuye uyu musi. Ndagusenga ku murango no mw’ijoro+ ku vyerekeye abasavyi bawe b’Abisirayeli, natura n’ibicumuro bagucumuyeko. Twe n’umuryango wa dawe twaracumuye+. 7 Vy’ukuri twarakoze nabi turakubabaza+, kandi ntitwubahirije amabwirizwa yawe, amategeko yawe n’ingingo washinze, ivyo watanze biciye ku musavyi wawe Musa+.

8 Ndakwinginze wibuke ivyo wabwiye* umusavyi wawe Musa uti: “Nimwampemukira, nzobashwiragiza mu mahanga+. 9 Mugabo nimwangarukako mukubahiriza amabwirizwa yanje, mukayagamburuka, naho abantu banyu bazoba barashwiragiye gushika iyo ijuru rigarukira, nzobegeranya+ ndabakureyo. Nzoheza ndabazane ahantu natoye ngo hitirirwe* izina ryanje+.” 10 Erega ni abasavyi bawe, bakaba n’abantu bawe wacunguje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe gukomeye+. 11 Ewe Yehova, ndakwinginze wumvirize isengesho ryanje jewe umusavyi wawe, n’iry’abasavyi bawe bahimbarwa no gutinya izina ryawe. Ndakwinginze umfashe bize kungendera neza uyu musi, umwami angirire akagongwe+.»

Ico gihe nakora igikorwa co guhereza ibinyobwa umwami+.

2 Umusi umwe mu kwezi kwa Nisani*, mu mwaka ugira 20+ umwami Aritazerusi+ aganza, umuvinyu wari uteretse imbere yiwe. Maze ntora uwo muvinyu ndawumuha nk’uko bisanzwe+. Mugabo sinari bwigere nza imbere yiwe mbabaye. 2 Maze umwami ambwira ati: «Kubera iki usa n’uwubabaye kandi utarwaye? Uko biri kwose, urababaye mu mutima.» Nca ngira ubwoba bwinshi.

3 Nishura umwami nti: «Umwami nahangame! Noreka gute kubabara kandi igisagara bahamvyemwo ba sogokuruza carasambuwe n’amarembo yaco agaturirwa+?» 4 Umwami na we ambwira ati: «None wipfuza iki?» Ubwo nyene nca nsenga Imana yo mw’ijuru+. 5 Hanyuma nishura umwami nti: «Nimba ubishimye mwami kandi ukaba ubona ko jewe umusuku wawe ndaguhimbara, ndagusavye undungike mu Buyuda, nje mu gisagara bahamvyemwo ba sogokuruza, nsubire ndacubake+.» 6 Umwami yari yicaranye n’umwamikazi wiwe. Ambwira ati: «Urugendo rwawe ruzomara igihe kingana gute? Uzoca ugaruka ryari?» Umwami rero ashima kundungika+, maze ndamubwira igihe nzomarayo+.

7 Nca ndamubwira nti: «Nimba ubishimye mwami, nibampe amakete nshira ba buramatari bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*+ kugira bandeke ndengane gushika nshitse mu Buyuda. 8 Nibampe n’ikete nshira Asafu umurinzi w’ishamba ry’umwami kugira ngo ampe ibiti vyo gukuramwo ibigiga. Nzoheza ndavyubakishe amarembo y’inyubakwa ikomeye+ iri hafi y’urusengero*, inzitiro z’igisagara+ n’inzu nzobamwo.» Nuko umwami ampa ayo makete+, kuko Imana yanje nziza yari kumwe nanje*+.

9 Maze gushikira ba buramatari bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, ndabaha nya makete y’umwami. Umwami yari yampaye n’abakuru b’ingabo n’abagendera ku mafarasi bamperekeza. 10 Umuhoroni yitwa Sanibalati+ n’umutware* w’Umwamoni+ yitwa Tobiya+ bavyumvise, barababara cane kubona hari umuntu yaje gukorera iciza Abisirayeli.

11 Amaherezo nshika i Yeruzalemu. Haheze imisi itatu, 12 mvyuka mw’ijoro ndi kumwe n’abagabo bakeyi. Mugabo nta n’umwe nabwiye iciyumviro Imana yanje yashize mu mutima wanje c’ivyo nkwiye gukorera Yeruzalemu. Kandi nta kindi gitungwa nagiye njanye kiretse ico nariko ngenderako. 13 Muri iryo joro nsohokana mw’irembo ryo ku mubande+, nca imbere y’isôko ryitwa isôko ry’ikiyoka nerekeza kw’irembo ry’ibirundo vy’umunyota+. Nagenda nsuzuma inzitiro za Yeruzalemu zari zarasenyutse n’amarembo yaho yari yaraturiwe+. 14 Nca ndabandanya nshika kw’irembo ryo kw’isôko+ no ku kidengeri c’umwami, ariko mbura aho ncisha igitungwa nariko ngenderako. 15 Nca nguma nduga mu mubande*+ muri iryo joro, nsuzuma uruzitiro. Ndaheza nsubira inyuma, ninjirana mw’irembo ryo ku mubande, nca ndataha.

16 Abatware bo hasi+ ntibari bazi iyo nagiye n’ico nariko ndakora, kuko ata na kimwe nari bwabwire Abayuda, abaherezi, abanyacubahiro, abatware bo hasi n’abandi bose bariko bakora igikorwa co kwubaka. 17 Amaherezo ndababwira nti: «Muribonera neza ko ibintu bimeze nabi: Yeruzalemu yarasambuwe, amarembo yaho na yo araturirwa. Nimuze dusubire twubake inzitiro za Yeruzalemu kugira ngo ntitugume turi akamenyo.» 18 Hanyuma ndabiganira ivyiza Imana yankoreye*+ n’ivyo umwami yari yambwiye+. Baca bavuga bati: «Reka tuve hasi twubake.» Nuko barazikenyera* ngo bakore ico gikorwa ciza+.

19 Wa Muhoroni yitwa Sanibalati na wa mutware* w’Umwamoni+ yitwa Tobiya+ be n’Umwarabu+ yitwa Geshemu bavyumvise, batangura kudutwenga+ no kutugaya bavuga bati: «Ivyo mukora ni ibiki? Mugira mugararize umwami+?» 20 Ariko ndabishura nti: «Imana yo mw’ijuru ni yo izotuma bigenda neza+. Twebwe abasavyi bayo twiyemeje kwubaka. Mugabo mwebwe nta mugabane canke uburenganzira mufise i Yeruzalemu, nta n’ikintu mwahakoze twobibukirako*+.»

3 Nuko umuherezi mukuru Eliyashibu+ na benewabo b’abaherezi barahaguruka bubaka irembo ry’intama+. Maze bararyeza*+ hanyuma barishirako imiryango. Igice bejeje cava kuri iryo rembo gushika ku munara wa Meya+ n’uwa Hananeli+. 2 Abubatse iruhande yabo bari abagabo b’i Yeriko+. Iruhande y’abo bagabo b’i Yeriko hubatse Zakuri mwene Imuri.

3 Bene Hasenaya bubatse irembo ry’amafi+, bashiraho inkingi zaryo z’ibiti+, bashirako n’imiryango yaryo n’ivyugazo. 4 Uwasanuye iruhande yabo yari Meremoti+ mwene Uriya, Uriya mwene Hakozi. Iruhande yiwe hasanuye Meshulamu+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Meshezabeli. Iruhande ya Meshulamu hasanuye Sadoki mwene Bayana. 5 Iruhande ya Sadoki hasanuye Abanyatekowa+. Mugabo abanyacubahiro bo muri bo baranse kwicisha bugufi* ngo bakore ibikorwa bahawe n’ababahagarikiye.

6 Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya basanuye irembo ry’igisagara ca kera+, bashiraho inkingi zaryo z’ibiti, bashirako n’imiryango yaryo n’ivyugazo. 7 Iruhande yabo hasanuye Umunyagibeyoni+ yitwa Melatiya n’Umunyameronoti yitwa Yadoni. Bari abagabo b’i Gibeyoni n’i Mizipa+ batwarwa na buramatari* wo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*+. 8 Iruhande yabo hasanuye Uziyeli mwene Harihaya yacura inzahabu. Iruhande yiwe hasanuye Hananiya yakora amavuta*. I Yeruzalemu bahashashe amabuye* gushika ahitwa uruhome rwagutse+. 9 Iruhande yabo hasanuye Refaya mwene Huru, umutware yatwara igice c’intara ya Yeruzalemu. 10 Iruhande yiwe hakurikiye Yedaya mwene Harumafu. Yasanuye ahatumberanye n’inzu yiwe. Iruhande yiwe na ho hasanuye Hatushi mwene Hashabuneya.

11 Malikiya mwene Harimu+ na Hashubu mwene Pahati-Mowabu+ basanuye umunara w’amafuru+ n’ikindi gice* c’uruzitiro. 12 Iruhande yabo hasanuye Shalumu mwene Haloheshi, umutware yatwara ikindi gice c’intara ya Yeruzalemu, ari kumwe n’abakobwa biwe.

13 Hanuni n’ababa i Zanowa+ basanuye irembo ryo ku mubande+. Bararisanuye barishirako imiryango n’ivyugazo. Basanuye uruzitiro ahangana n’intambwe 1.000*, bashikana kw’irembo ry’ibirundo vy’umunyota+. 14 Malikiya mwene Rekabu, umutware w’intara ya Beti-Hakeremu+, yasanuye irembo ry’ibirundo vy’umunyota. Yararisanuye arishirako imiryango n’ivyugazo.

15 Shaluni mwene Kolihoze, umutware w’intara ya Mizipa+, yasanuye irembo ryo kw’isôko+. Yararisanuye, ararisakara, arishirako imiryango n’ivyugazo. Asanura n’uruzitiro ruri hafi y’ikidengeri+ c’umugende hampande y’umurima w’umwami+, ashika no ku nzira y’ingazi+ zimanuka zivuye mu gisagara ca Dawidi+.

16 Iruhande yiwe hakurikiye Nehemiya mwene Azibuki, umutware yatwara igice c’intara ya Beti-Suri+. Mu gusanura yahereye imbere y’imva za Dawidi+ ashikana ku kidengeri+ cari carubatswe, ashika no ku nzu y’abahizi.

17 Iruhande yiwe hasanuye Abalewi: Rehumu mwene Bani, hakurikira Hashabiya, umutware yatwara igice c’intara ya Keyila+. Yakoze igikorwa co gusanura aserukiye intara yiwe. 18 Iruhande yiwe hakurikiye benewabo b’Abalewi. Bakoze igikorwa co gusanura bahagarikiwe na Bavayi mwene Henadadi, umutware yatwara ikindi gice c’intara ya Keyila.

19 Iruhande yiwe hakurikiye Ezeri mwene Yeshuwa+, umutware w’i Mizipa. Yasanuye ikindi gice c’uruzitiro kirabana n’umudugo uja ahitwa ku rwego+, ahari ububiko bw’ibirwanisho.

20 Iruhande yiwe hakurikiye Baruki mwene Zabayi+. Yakoranye umwete, asanura ikindi gice c’uruzitiro, kuva aho ku rwego gushika ku bwinjiriro bw’inzu y’umuherezi mukuru Eliyashibu+.

21 Iruhande yiwe hakurikiye Meremoti+ mwene Uriya, Uriya mwene Hakozi. Yasanuye ikindi gice c’uruzitiro, kuva ku bwinjiriro bw’inzu ya Eliyashibu gushika ku mpera yayo.

22 Iruhande yiwe hasanuye abaherezi bo mu karere ka Yorodani*+. 23 Iruhande yabo hakurikiye Benyamini na Hashubu. Basanuye ahatumberanye n’inzu yabo. Iruhande yabo hakurikiye Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Ananiya. Yasanuye hafi y’inzu yiwe. 24 Iruhande yiwe hakurikiye Binuwi mwene Henadadi. Yasanuye ikindi gice c’uruzitiro, kuva ku nzu ya Azariya gushika ahitwa ku rwego+ no ku mfuruka.

25 Iruhande yiwe hakurikiye Palali mwene Uzayi. Yakoze igikorwa co gusanura imbere y’urwo rwego n’umunara wo haruguru ufatanye n’inzu* y’umwami+, uri mu kigo c’abarinzi+. Iruhande yiwe hakurikiye Pedaya mwene Paroshi+.

26 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ b’i Ofeli+ basanuye gushika imbere y’irembo ry’amazi+ mu buseruko, bashika no ku munara warengako ku ruzitiro.

27 Iruhande yabo hakurikiye Abanyatekowa+. Basanuye ikindi gice c’uruzitiro bahereye imbere y’umunara munini urengako ku ruzitiro, bashika ku ruzitiro rw’i Ofeli.

28 Abaherezi basanuye hejuru y’irembo ry’amafarasi+, umwe wese asanura ahatumberanye n’inzu yiwe.

29 Iruhande yabo hakurikiye Sadoki+ mwene Imeri. Yasanuye ahatumberanye n’inzu yiwe.

Iruhande yiwe hasanuye Shemaya mwene Shekaniya, umurinzi w’irembo ryo mu buseruko+.

30 Iruhande yiwe hakurikiye Hananiya mwene Shelemiya na Hanuni umuhungu wa Zalafu agira gatandatu. Basanuye ikindi gice c’uruzitiro.

Iruhande yabo hakurikiye Meshulamu+ mwene Berekiya. Yasanuye ahatumberanye n’icumba ciwe.

31 Iruhande yiwe hakurikiye Malikiya wo mw’ishirahamwe ry’abacura inzahabu. Yasanuye gushika ku nzu y’abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ n’abadandaza. Yarasanuye n’aharabana n’irembo ry’ukugenzura gushika ku cumba co hejuru co ku mfuruka.

32 Abacura inzahabu n’abadandaza basanuye agace kari hagati y’ico cumba co hejuru co ku mfuruka n’irembo ry’intama+.

4 Sanibalati+ akimara kwumva yuko twasubiye kwubaka uruzitiro, aca arashavura kandi arababara cane, aguma atwenga Abayuda. 2 Maze avugira imbere ya bagenziwe n’ingabo za Samariya ati: «Aba Bayuda ata co bashoboye bariko bakora iki? Bazovyishoboza? Bazoshobora gushikana ibimazi? Ivyo bikorwa bazobirangiza mu musi umwe? Arya mabuye yahiye bazoshobora kuyazikurura mu birundo vy’ibihomvagurike vyuzuye ivu, basubire kuyakoresha+?»

3 Wa Mwamoni+ yitwa Tobiya+ yari ahagaze iruhande yiwe, avuga ati: «N’imbwebwe ari imbwebwe yokwurira kuri urwo ruzitiro rw’amabuye bariko barubaka, yoca irusenyurira hasi.»

4 Maze nsenga nti: «Mana yacu, niwumve ingene bariko baradukengera+, utume amajambo yabo y’akagaye agaruka ku gatwe kabo+. Nutume batsindwa n’abansi babo, bajanwe mu kindi gihugu ari imbohe. 5 Ntubabarire ikosa ryabo canke ngo uhanagure igicumuro cabo+ kuko batutse abubatsi.»

6 Nuko tubandanya kwubaka urwo ruzitiro gushika aho rwose rufatana. Twararwubatse gushika ku ca kabiri c’uburebure bwarwo bw’amahagarara, kandi abantu baguma bakora n’umutima wabo wose.

7 Sanibalati, Tobiya+, Abarabu+, Abamoni n’Abanyashidodi+ bakimara kwumva yuko igikorwa co gusanura inzitiro za Yeruzalemu kiguma gitera imbere be n’uko ahasambutse turiko turahazibira, baca barashavura cane. 8 Maze baja hamwe, bategura umugambi wo kuza gutera Yeruzalemu no kuhadurumbanya. 9 Mugabo duca dusenga Imana yacu, dushiraho n’abarinzi baturinda abo bansi bacu umurango n’ijoro.

10 Ariko abo mu Buyuda batangura kuvuga bati: «Abakozi* bararushe, kandi haracariho ibihomvagurike vyinshi. Uru ruzitiro ntituzogenda dushoboye kurwubaka.»

11 Vyongeye, abansi bacu baguma bavuga bati: «Bazobona tubagwako batazi iyo tuzananye, tubice, duhagarike ico gikorwa.»

12 Igihe cose Abayuda baba hafi y’abo bansi bacu baba baje mu gisagara, baguma batubwira* bati: «Bazodutera bazananye impande zose.»

13 Ni kwo guca nshira abagabo inyuma y’uruzitiro mu bibanza vyoroshe gutera*, ndabashiraho mfatiye ku miryango yabo. Baba bafise inkota, amacumu n’imiheto. 14 Mbonye ko bafise ubwoba, nca mva hasi mbwira abanyacubahiro+, abatware bo hasi n’abandi bantu nti: «Ntimubatinye+. Nimwibuke Yehova we ahambaye kandi ateye akoba+, murwanire benewanyu, abahungu banyu, abakobwa banyu, abagore banyu n’imihana yanyu.»

15 Abansi bacu bamaze kwumva yuko twamenye ivyo bagomba kudukorera be n’uko Imana y’ukuri yishe umugambi wabo, twese twaciye twisubirira kwubaka uruzitiro. 16 Kuva uwo musi, abantu banje naciye ndabagabura mu migwi ibiri ingana: bamwe baba bari ku gikorwa+, abandi na bo bafashe amacumu, inkinzo n’imiheto, bambaye n’amakoti y’ivyuma. Abatware+ baba bahagaze inyuma y’Abayuda, bashigikiye 17 abariko bubaka uruzitiro. Abatwara imizigo bakoresha ukuboko kumwe, ukundi na kwo gufashe ikirwanisho*. 18 Umwubatsi wese yubaka yambaye inkota mu mafyinga. Uwuvuza inzamba+ na we yaba ahagaze iruhande yanje.

19 Nuko mbwira abanyacubahiro, abatware bo hasi n’abandi bantu nti: «Igikorwa ni kinini n’ahakeneye gukorwa ni harehare, kandi turiko dukorera ku ruzitiro turi kure na kure. 20 Nimwumva ijwi ry’inzamba, muzoce mukoranira aho turi. Imana yacu izoturwanira+.»

21 Nuko tubandanya gukora, abandi* na bo bafashe amacumu, kuva umutwenzi utambitse gushika inyenyeri ziserutse. 22 Ico gihe mbwira abantu nti: «Abagabo nibarare mu gisagara ca Yeruzalemu, umwe wese ari kumwe n’umusuku wiwe. Bazoturinda mw’ijoro, ku murango na ho bakore.» 23 Yaba jewe canke benewacu, canke abasuku banje+ canke abarinzi bangendanira, nta n’umwe yigeze ahindura impuzu. Umwe wese yaguma afise ikirwanisho mu kuryo kwiwe.

5 Ariko abagabo bamwebamwe n’abagore babo batangura kwidogera cane Abayuda benewabo+. 2 Hari abavuga ngo: «Dufise abahungu benshi n’abakobwa benshi. Turakeneye ivyo dufungura kugira tubeho.» 3 Hakaba n’abavuga ngo: «Amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu n’amazu yacu tubitangako ingwati kugira ngo turonke ivyo dufungura igihe hari inzara.» 4 Hari n’abavuga ngo: «Twaragwatirije amatongo yacu n’imirima yacu kugira turonke amahera y’ikori* ry’umwami+. 5 Twebwe na benewacu turi bamwe* kandi abana bacu ni cokimwe n’ababo. Mugabo abahungu bacu n’abakobwa bacu tubwirizwa kubatanga ngo babe abashumba, kandi bamwe mu bakobwa bacu baramaze kuba abashumba+. Ariko twarabuze uko tugira kuko amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu vyegukira abandi.»

6 Nkimara kwumva imyidogo yabo n’ayo majambo, nca ndashavura cane. 7 Maze ndavyiyumvira mu mutima, ndaheza ntatira abanyacubahiro n’abatware bo hasi, ndababwira nti: «Mwubahuka gute kwaka inyungu* benewanyu+?»

Nca ntunganya ikoraniro rikomeye kubera bo. 8 Maze ndababwira nti: «Twarakoze uko dushoboye tugaruza benewacu b’Abayuda bari baragurishijwe mu mahanga. None namwe mugomba kugurisha benewanyu+ ngo twongere kubagaruza?» Baca baguma banumye, babura ico bavuga. 9 Nca mvuga nti: «Ivyo mukora si vyo. Mwari mukwiye kubaho mutinya Imana yacu+ kugira ntitwimaramaze mu mahanga aturwanya. 10 Erega na jewe na benewacu n’abasuku banje turabaha ingurane y’amahera n’intete, ariko nta nyungu tubasaba. Ndabinginze tureke gusaba inyungu abo duha ingurane+. 11 Ndabasavye uyu musi nyene mubasubize amatongo yabo+, imirima yabo y’imizabibu, imirima yabo y’imyelayo* n’amazu yabo, n’ic’ijana* c’inyungu mwabasavye ku mahera, ku ntete, ku muvinyu mushasha no ku mavuta.»

12 Bishura bati: «Turabisubiza kandi nta co tubasaba. Turabikora nk’uko nyene ubivuze.» Mpamagara rero abaherezi maze nsaba abo bagabo kurahira yuko bazokora ivyo bemeye. 13 Vyongeye, nkunkumura impuzu nambaye* maze mvuga nti: «Umuntu wese atazoshitsa ivyo dusezeranye, uku azobe ari ko Imana y’ukuri imukunkumura imukure mu nzu yiwe no mu vyiwe. Uku azobe ari ko akunkumurwa, asigare yera.» Ishengero ryose rica rivuga riti: «Amen*!» Maze bashemeza Yehova. Nuko abantu bashitsa ivyo basezeranye.

14 N’ikindi kandi, kuva umusi umwami Aritazerusi+ yangena kubabera buramatari+ mu Buyuda, ni ukuvuga kuva mu mwaka ugira 20+ gushika mu mwaka ugira 32 aganza+, muri iyo imyaka 12 yose, yaba jewe canke benewacu nta n’umwe yariye ivyo kurya buramatari afitiye uburenganzira+. 15 Ariko ba buramatari b’imbere yanje bari bararemereje abantu. Baguma babaka shekeli* 40 z’ifeza ku musi ku musi zo kugura ivyo kurya n’umuvinyu. Kandi abasuku babo baracinyiza abantu. Mugabo jewe ivyo nta vyo nakoze+ kubera ntinya Imana+.

16 Bisubiye, narafashije mu gikorwa co kwubaka uru ruzitiro, kandi nta n’itongo twaronse+. Abasuku banje bose bama batonda ku gikorwa. 17 Abagabo 150 bagizwe n’Abayuda be n’abatware babo bo hasi ni bo bama bafungurira iwanje. Aho simvuze abaza bavuye mu mahanga. 18 Ku musi ku musi bantegurira* impfizi imwe, intama zitandatu nzizanziza n’inyoni. Rimwe mu misi cumi na ho bantegurira imivinyu y’ubwoko bwose kandi myinshi. Naho ari ukwo, sinasavye ivyo kurya buramatari afitiye uburenganzira, kuko igikorwa abantu bariko ubwaco cabaruhisha. 19 Ewe Mana yanje, uze unyibuke umpezagire* kubera ibintu vyose nakoreye aba bantu+.

6 Nuko Sanibalati, Tobiya+, wa Mwarabu+ Geshemu n’abandi bansi bacu bakimara kumenya yuko nari nasubiye kwubaka uruzitiro+ be n’uko aho rwari rwarasambutse hose hazibiwe (naho ku marembo ntari bwashireko imiryango)+, 2 Sanibalati na Geshemu baca bantumako bati: «Reka duhane isango tuze duhurire mu bigwati vyo mu kiyaya ca Ono+.» Mugabo bashaka kungirira nabi. 3 Nuko ndabatumako intumwa nti: «Ndiko nkora igikorwa gihambaye, sinshobora kumanuka ngo nze. Mvuye ku gikorwa nkaza kubaraba coca gihagarara.» 4 Bandungikiye ubwo butumwa incuro zine, nanje nguma ndabishura kwa kundi.

5 Maze Sanibalati arungika umusuku wiwe kumbwira bwa butumwa nyene ku ncuro ya gatanu, aza afise mu ntoke ikete ryuguruye. 6 Ibi ni vyo vyari vyanditsemwo: «Mu mahanga bavuga yuko wewe n’Abayuda bagenzawe muriko mutegura umugambi wo kugarariza+, kandi na Geshemu+ ni ko avuga. Ni co gituma uriko wubaka uruzitiro. Kandi ayo makuru avuga yuko uzoca ubabera umwami. 7 Waranagenye abahanuzi bagenda barakwamamaza bavuga ngo: “Hariho umwami mu Buyuda!” Ivyo bintu rero bizohava bimenyeshwa umwami. Aho ntiwoza tukabivugana?»

8 Ariko ndamwishura nti: «Ivyo vyose uvuga nta na kimwe cabaye. Ni ivyo uriko urikurira mu mutwe*.» 9 Bose bariko barondera kudutera ubwoba, bavuga ngo: «Bazoca bacika intege*, igikorwa gihagarare+.» Mana ndagusavye unkomeze*+.

10 Maze nja kwa Shemaya mwene Delaya, Delaya mwene Mehetabeli. Ico gihe ntiyava mu nzu. Ambwira ati: «Tuvugane igihe twohurira ku nzu y’Imana y’ukuri, mu rusengero, duheze twiyugaranireyo kuko bahava baza kukwica. Baraza kukwica mw’ijoro.» 11 Mugabo mvuga nti: «Ubona umuntu nkanje yohunga? Umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ntiyicwe+? Eka sinjayo!» 12 Naciye ntahura ko Imana atari yo yari yamutumye, ahubwo ko Tobiya na Sanibalati+ ari bo bari bamuhaye amahera ngo ampende*. 13 Bamuhaye amahera kugira ngo antere ubwoba, bitume ncumura maze baronke ico bafatirako mu kumvuga nabi kugira banyambike ibara.

14 Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya+ na Sanibalati n’ivyo bintu bakoze. Wibuke n’umuhanuzikazi Nowadiya be n’abandi bahanuzi bagumye barondera kuntera ubwoba.

15 Nuko ku musi ugira 25 w’ukwezi kwa Eluli*, uruzitiro rurarangira. Rwubatswe mu misi 52.

16 Abansi bacu bose bakimara kuvyumva, abo mu bihugu bibanyi vyose na bo bakabibona, baramaramara cane+. Maze batahura ko Imana yacu ari yo yadufashije muri ico gikorwa. 17 Muri iyo misi, abanyacubahiro+ bo mu Buyuda baza bararungikira amakete menshi Tobiya, na we akabishura. 18 Abantu benshi bo mu Buyuda bari baremeye baranarahira ko bazoguma bamushigikira kubera ko yari umukwe wa Shekaniya mwene Ara+. Kandi umuhungu wiwe Yehohanani yari yararongoye umukobwa wa Meshulamu+ mwene Berekiya. 19 Vyongeye, baguma bambwira ivyiza akora hanyuma bakaja kumubwira ivyo navuze. Tobiya yaca andungikira amakete yo kuntera ubwoba+.

7 Uruzitiro rukirangira kwubakwa+, nca nshirako imiryango+. Maze nshinga ibikorwa abarinzi b’amarembo+, abaririmvyi+ n’Abalewi+. 2 Igisagara ca Yeruzalemu nca ndakizeza mwenewacu Hanani+ na Hananiya umukuru ajejwe ya nyubakwa ikomeye+. Hananiya yari umugabo w’umwizigirwa cane kandi atinya Imana y’ukuri+ kurusha abandi benshi. 3 Hanyuma ndababwira nti: «Amarembo ya Yeruzalemu ntaze yugururwe izuba ritarakara cane. Abarinzi b’amarembo bazoba bakiri kw’izamu baze bugare imiryango, bashireko n’ivyugazo. Muze mushinge ababa i Yeruzalemu igikorwa c’izamu. Bamwe bakorere ku birindiro vyabo, abandi imbere y’inzu zabo.» 4 Ico gihe igisagara cari kinini kandi cagutse, mugabo carimwo abantu bakeyi+, kandi amazu yaho ntiyari bwasubire kwubakwa.

5 Mugabo Imana yanje ishira mu mutima wanje iciyumviro co gukoraniriza hamwe abanyacubahiro, abatware bo hasi n’abandi bantu kugira biyandikishe hakurikijwe amamuko yabo+. Maze nubura igitabu canditswemwo abagarutse ubwa mbere hakurikijwe amamuko yabo. Cari canditswemwo ngo:

6 «Aba ni bo bantu bo mu ntara* bavuye mu mbohe Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano+, maze mu nyuma bagasubira i Yeruzalemu no mu Buyuda, umwe wese agasubira mu gisagara c’iwabo+. 7 Baje bazananye na Zerubabeli+, Yeshuwa+, Nehemiya, Azariya, Rayamiya, Nahamani, Morudekayi, Bilishani, Misipereti, Bigivayi, Nehumu na Bayana.

Igitigiri c’abagabo b’Abisirayeli cari iki+: 8 abahungu* ba Paroshi bari 2.172. 9 Abahungu ba Shefatiya bari 372. 10 Abahungu ba Ara+ bari 652. 11 Abahungu ba Pahati-Mowabu+ bakomoka kuri Yeshuwa na Yowabu+ bari 2.818. 12 Abahungu ba Elamu+ bari 1.254. 13 Abahungu ba Zatu bari 845. 14 Abahungu ba Zakayi bari 760. 15 Abahungu ba Binuwi bari 648. 16 Abahungu ba Bebayi bari 628. 17 Abahungu ba Azigadi bari 2.322. 18 Abahungu ba Adonikamu bari 667. 19 Abahungu ba Bigivayi bari 2.067. 20 Abahungu ba Adini bari 655. 21 Abahungu ba Ateri bakomoka kuri Hezekiya bari 98. 22 Abahungu ba Hashumu bari 328. 23 Abahungu ba Bezayi bari 324. 24 Abahungu ba Harifu bari 112. 25 Ab’i Gibeyoni+ bari 95. 26 Abagabo b’i Betelehemu n’i Netofa bari 188. 27 Abagabo b’i Anatoti+ bari 128. 28 Abagabo b’i Beti-Azimaveti bari 42. 29 Abagabo b’i Kiriyati-Yeyarimu+, i Kefira n’i Beroti+ bari 743. 30 Abagabo b’i Rama n’i Geba+ bari 621. 31 Abagabo b’i Mikimasi+ bari 122. 32 Abagabo b’i Beteli+ n’i Ayi+ bari 123. 33 Abagabo b’i Nebo handi bari 52. 34 Abahungu ba Elamu wundi bari 1.254. 35 Abahungu ba Harimu bari 320. 36 Ab’i Yeriko bari 345. 37 Ab’i Lodi, i Hadidi n’i Ono+ bari 721. 38 Ab’i Senaya* bari 3.930.

39 Abaherezi+ bari aba: abahungu ba Yedaya bo mu muryango wa Yeshuwa bari 973. 40 Abahungu ba Imeri bari 1.052. 41 Abahungu ba Pashuri+ bari 1.247. 42 Abahungu ba Harimu+ bari 1.017.

43 Abalewi+ bari aba: abahungu ba Yeshuwa, aba Kadumiyeli+, bakomoka kuri Hodeva, bari 74. 44 Abaririmvyi+ bari aba: abahungu ba Asafu+ bari 148. 45 Abarinzi b’amarembo+ bari aba: abahungu ba Shalumu, aba Ateri, aba Talimoni, aba Akubu+, aba Hatita n’aba Shobayi. Bari 138.

46 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ bari aba: abahungu ba Ziha, aba Hasufa, aba Tabayoti, 47 aba Kerosi, aba Siya, aba Padoni, 48 aba Lebana, aba Hagaba, aba Salumayi, 49 aba Hanane, aba Gideli, aba Gahari, 50 aba Reyaya, aba Rezini, aba Nekoda, 51 aba Gazamu, aba Uza, aba Paseya, 52 aba Besayi, ab’Abamewunimu*, aba Nefushesimu*, 53 aba Bakibuki, aba Hakufa, aba Harihuri, 54 aba Baziliti, aba Mehida, aba Harisha, 55 aba Barikosi, aba Sisera, aba Tema, 56 aba Neziya n’aba Hatifa.

57 Abahungu b’abasuku ba Salomo+ bari aba: abahungu ba Sotayi, aba Sofereti, aba Perida, 58 aba Yahala, aba Darikoni, aba Gideli, 59 aba Shefatiya, aba Hatili, aba Pokereti-Hazebayimu n’aba Amoni. 60 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo, bose hamwe bari 392.

61 Aba bakurikira baduze bava i Teli-Mela, i Teli-Harisha, i Kerubi, i Adoni n’i Imeri, mugabo ntibashoboye kwerekana neza umuryango bavamwo n’amamuko yabo, kugira bimenyekane ko bari Abisirayeli+: 62 abahungu ba Delaya, aba Tobiya n’aba Nekoda bari 642. 63 Mu baherezi hari aba: abahungu ba Habaya, aba Hakozi+ n’aba Baruzilayi. Uwo Baruzilayi yarongoye umwe mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umunyagileyadi, aca yitirirwa izina ryabo. 64 Abo bararondeye aho banditswe kugira ngo berekane amamuko yabo mugabo ntibahabona, bituma bakurwa mu buherezi*+. 65 Nuko buramatari*+ ababwira ko badakwiye kurya ku bintu vyeranda cane+ gushika habonetse umuherezi yobaza Imana biciye kuri Urimu na Tumimu*+.

66 Abantu bose bari bagize iryo shengero bari 42.360+. 67 Aho ntidushizemwo abashumba babo n’abashumbakazi+ babo 7.337. Bari bafise n’abaririmvyi be n’abaririmvyikazi+ 245. 68 Bari bafise amafarasi 736, inyumpu* 245, 69 ingamiya 435 n’indogobwa 6.720.

70 Bamwe mu bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* ya Isirayeli baratanze intererano yo gushigikira igikorwa+. Buramatari* yatanze amadarakima* 1.000 y’inzahabu, amabakure 50 n’amakanzu+ 530 y’abaherezi, ngo bishirwe mu kigega. 71 Abandi bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli batanga amadarakima 20.000 y’inzahabu n’imina* 2.200 z’ifeza ngo bishirwe mu kigega c’ico gikorwa. 72 Abandi bantu na bo batanga amadarakima 20.000 y’inzahabu, imina 2.000 z’ifeza n’amakanzu 67 y’abaherezi.

73 Maze abaherezi, Abalewi, abarinzi b’amarembo, abaririmvyi+, abanyagihugu basanzwe n’abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*, baja kuba mu bisagara vyabo. Nuko Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo+. Ukwezi kugira indwi kwashitse+ bose ari yo baba+.»

8 Maze abantu bose baja inama, bakoranira hamwe mu kibanza rusangi cari imbere y’irembo ry’amazi+. Baraheza babwira umwimuzi* Ezira+ ngo azane igitabu c’amategeko ya Musa+, ayo Yehova yari yarahaye Abisirayeli+. 2 Umuherezi Ezira aca azana ayo mategeko imbere y’ishengero+ rigizwe n’abagabo, abagore n’abo bose bashobora kwumva bagategera. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi+. 3 Nuko asoma ivyanditse muri ico gitabu n’ijwi ryumvikana+, ahagaze imbere ya ca kibanza rusangi kirabana n’irembo ry’amazi. Yasomye kuva mu mutwenzi gushika mu masasita, asomera abagabo, abagore n’abo bose bashobora gutahura. Abantu barumvirije bitonze+ ibivugwa muri ico gitabu c’amategeko. 4 Umwimuzi* Ezira yari ahagaze ku kintu gitaramutse bakoreye urwo rubanza gikozwe mu biti. Iburyo bwiwe hari hahagaze Matitiya, Shema, Anaya, Uriya, Hilikiya na Mayaseya. Ibubamfu bwiwe na ho hari Pedaya, Mishayeli, Malikiya+, Hashumu, Hashibadana, Zakariya na Meshulamu.

5 Ezira azingurura ico gitabu. Abantu bose baramubona kuko yari ahagaze ahantu hataramutse. Akizinguruye bose baca barahaguruka. 6 Maze Ezira ashemeza Yehova Imana y’ukuri, umwe ahambaye. Abantu bose baca baduza amaboko bishura bati: «Amen*! Amen+!» Baca barunamira Yehova, mu maso hashika hasi. 7 Aba Balewi ni bo bariko barasigurira abantu ayo mategeko+, abantu na bo bahagaze: Yeshuwa, Bani, Sherebiya+, Yamini, Akubu, Shabetayi, Hodiya, Mayaseya, Kelita, Azariya, Yozabadi+, Hanane na Pelaya. 8 Babandanya gusoma n’ijwi ryumvikana ibiri muri nya gitabu c’amategeko y’Imana y’ukuri, bakaza barabisigura neza bongera batomora insobanuro y’ibiriko birasomwa. Ukwo ni ko bafashije abantu gutahura ivyariko birasomwa+.

9 Maze buramatari* Nehemiya, umuherezi Ezira+ akaba n’umwimuzi* n’Abalewi bariko bigisha abantu, babwira abantu bose bati: «Uwu musi ni mweranda kuri Yehova Imana yanyu+. Ntimubabare canke ngo murire.» Babwiye abantu ukwo kubera ko bose bariko bararizwa n’ivyo bumvise mu gitabu c’amategeko. 10 Nehemiya ababwira ati: «Genda murye indya ziryoshe*, munywe n’ibinyobwa biryoshe, kandi murungikire imfungurwa+ abadafise ico barya kuko uwu musi ari mweranda ku Mukama wacu. Ntimubabare kuko umunezero Yehova atanga ari wo buhungiro bwanyu*.» 11 Abalewi bariko bahoza abantu bose, bababwira bati: «Nimureke kurira kuko uwu musi ari mweranda. Ntimubabare.» 12 Nuko abantu bose baja kurya no kunywa no kurungikira abandi ibifungurwa no kunezerwa rwose+, kuko bari batahuye amajambo basiguriwe+.

13 Ku musi ugira kabiri, abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango y’Abisirayeli bose, abaherezi n’Abalewi, bakoranira aho umwimuzi* Ezira ari kugira barushirize gutahura ibivugwa mu mategeko. 14 Maze basanga mu mategeko handitswe ko Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa yuko Abisirayeli bakwiye kuba mu nsago mu gihe c’umusi mukuru wo mu kwezi kugira indwi+. 15 Yari yarategetse kandi ko bakwiye gutangaza+ bakamenyesha mu bisagara vyabo vyose n’i Yeruzalemu hose bati: «Nimuje mu karere k’imisozi muzane amashami ariko amababi muyakuye ku biti vy’imyelayo, ku mapinusi, ku mihadasi*, ku bigazi no ku bindi biti kugira mwubake insago nk’uko vyanditswe.»

16 Nuko abantu baja kuzana ayo mashami, baca bayubakamwo insago. Bubatse hejuru ku nzu* zabo, mu bigo vyabo, mu bigo vy’inzu y’Imana y’ukuri+, mu kibanza rusangi co kw’irembo ry’amazi+ n’ico kw’irembo rya Efurayimu+. 17 Abantu bose bari baravuye mu bunyagano bubaka rero insago, maze bazibamwo. Abisirayeli bagira umunezero mwinshi cane+ kubera ko batari bwigere bahimbaza uwo musi mukuru gutyo kuva mu misi ya Yosuwa+ mwene Nuni. 18 Buri musi, kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa nyuma, barasomerwa mu gitabu c’amategeko y’Imana y’ukuri+. Bamaze imisi indwi bari muri uwo musi mukuru, maze ku musi ugira umunani haba ikoraniro ridasanzwe nk’uko vyasabwa+.

9 Ku musi ugira 24 w’ukwo kwezi kugira indwi, Abisirayeli bakoranira hamwe barisonzesha. Bari bambaye amagunira, biyoreyeko n’umukungugu+. 2 Nuko abakomotse kuri Isirayeli bitandukanya n’abanyamahanga bose+, maze barahaguruka batura ibicumuro vyabo n’amakosa ba sekuruza bakoze+. 3 Hanyuma bahagarara aho nyene bari, bamara amasaha atatu* basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’amategeko+ ya Yehova Imana yabo. Bamara ayandi masaha atatu batura ibicumuro vyabo bongera bunamira Yehova Imana yabo.

4 Maze Yeshuwa, Bani, Kadumiyeli, Shebaniya, Buni, Sherebiya+, Bani na Kenani bahagarara ku kintu gitaramutse+ cubakiwe Abalewi, maze bashira ijwi hejuru batakambira Yehova Imana yabo. 5 Hanyuma Abalewi Yeshuwa, Kadumiyeli, Bani, Hashabuneya, Sherebiya, Hodiya, Shebaniya na Petahiya bavuga bati: «Nimuhaguruke mushemeze Yehova Imana yanyu gushika ibihe bidahera*+.» Bongerako bati: «Mana, nibashemeze izina ryawe rininahaye. Nta majambo tworonka yo kuritazira no kurishemeza.

6 Ni wewe Yehova wenyene+. Ni wewe waremye* ijuru iyo riva rikagera n’ingabo zose zo kw’ijuru*, isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose. Vyose ubizigamira ubuzima, kandi ingabo zo kw’ijuru zirakwunamira. 7 Uri Yehova Imana y’ukuri. Ni wewe watoye Aburamu+ umukura i Uri+ h’Abakaludaya maze umwita Aburahamu+. 8 Wabonye ko umutima wiwe utaguhemukira*+, uca ugirana na we isezerano ryo kumuha igihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abayebusi n’Abagirugashi, ukagiha n’uruvyaro* rwiwe+. Kandi warashikije ivyo wasezeranye, kubera ko ugororotse.

9 Warabonye amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri+, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura. 10 Waciye werekana ibimenyetso, ukora n’ibitangaro kugira uhane Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe+, kuko wari uzi ko bagize ubwibone+ bagafata nabi abantu bawe. Warihesheje izina ryabaye rurangiranwa gushika n’uyu musi+. 11 Wasatuye ikiyaga imbere yabo ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+, maze abariko barabakurikira ubaterera ibwina nk’ibuye batereye mu mazi yasebuye+. 12 Ku murango wabayobora ukoresheje inkingi y’igicu, mw’ijoro na ho ugakoresha inkingi y’umuriro, kugira ngo ubamurikire mu nzira bakwiye gucamwo+. 13 Waramanutse uza ku musozi Sinayi+ uvugana na bo uri mw’ijuru+, uraheza ubaha ingingo zigororotse washinze, amategeko y’ukuri*, ivyagezwe vyiza n’amabwirizwa meza+. 14 Wabamenyesheje ivyerekeye isabato yawe nyeranda+ wongera ubaha amabwirizwa, ivyagezwe n’amategeko biciye ku musavyi wawe Musa. 15 Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru igihe bari bashonje+, ukura n’amazi mu rutare igihe bari banyotewe+. Waciye ubabwira ngo baje kwigarurira igihugu wari wararahiye* ko uzobaha.

16 Ariko ba sogokuruza bacu bagize ubwibone+, baba intagondwa*+, ntibumviriza amabwirizwa yawe. 17 Baranse kwumva+, ntibibuka ibintu vy’agatangaza wabakoreye. Ahubwo bigize intagondwa*, bagena umukuru ngo bisubirire mu bushumba bahoramwo mu Misiri+. Mugabo wewe uri Imana yiteguriye kubabarira*, y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi ifise urukundo* rwinshi+. Ni co gituma utabahevye+. 18 N’igihe bihingurira igishusho c’inyana* mu cuma, bakavuga bati: “Iyi ni yo Mana yawe yagukuye mu Misiri+”, bagakora ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye, 19 na ho nyene ntiwabahebeye mu bugaragwa kubera imbabazi zawe nyinshi+. Ntiwakuye hejuru yabo ya nkingi y’igicu yabayobora ku murango canke ya nkingi y’umuriro yabamurikira mw’ijoro mu nzira bakwiye gucamwo+. 20 Wabahaye impwemu yawe nziza kugira ngo baronke ubukerebutsi*+. Ntiwigeze ubima manu bafungura+, kandi warabahaye amazi igihe bari banyotewe+. 21 Wamaze imyaka 40 ubaronsa ibifungurwa mu bugaragwa+. Nta na kimwe babuze. Impuzu zabo ntizaheze+, n’ibirenge vyabo ntivyavyimvye.

22 Wabahaye akarere k’ubwami n’amahanga, urakagabagura+. Baraheza bigarurira igihugu ca Sihoni+, ni ukuvuga igihugu c’umwami wa Heshiboni+, n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani. 23 Watumye abana babo bagwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru+. Maze ubazana mu gihugu wari warasezeraniye ba sekuruza babo yuko bocinjiyemwo bakacigarurira+. 24 Abana babo barinjiye rero muri ico gihugu baracigarurira+, maze ubafasha kunesha Abanyakanani+ baba muri co. Watumye batsinda abami babo n’abantu baho kugira ngo babagenze uko bashaka. 25 Barafashe ibisagara vyabo bikingijwe ibihome+ n’akarere kimbuka*+, bafata n’amazu yuzuye ibintu vyizavyiza vy’ubwoko bwose, ibinogo vy’amazi vyari bimaze kwimbwa, imirima y’imizabibu, imirima y’imyelayo+ n’ibiti vyinshi vyama ivyamwa. Maze bararya barahaga, baradoha, baridagadura mu bintu vyiza vyinshi wabahaye.

26 Ariko baragambaraye barakugarariza+, banka gukurikiza amategeko yawe*. Barishe abahanuzi warungika ngo bababurire, babafashe kukugarukako. Barakoze ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye+. 27 Ivyo vyatumye ureka abansi babo barabatsinda+, bakaguma babateza amagorwa+. Mugabo igihe baba bari mu magorwa, barakuririra maze nawe ukabumva uri mw’ijuru, ukarungika ababakiza abansi babo kubera imbabazi zawe nyinshi+.

28 Mugabo bakimara kuronka agahengwe, baca bongera gukora ivyo ubona ko ari bibi+, nawe ugaca ubakurako amaboko, abansi babo bakabaganza*+. Baraheza bakakugarukako bakagutabaza+, nawe ukabumva uri mw’ijuru maze ukabakiza incuro n’izindi kubera imbabazi zawe nyinshi+. 29 Naho wababurira kugira ngo basubire gukurikiza amategeko yawe, baragize ubwibone banka gukurikiza amabwirizwa yawe+. Baracumuye barenga ku vyagezwe wabahaye, kandi ivyo vyagezwe bituma umuntu abaho iyo abikurikije+. Babaye intagondwa bagutera ibitugu, bakomantaza amazosi, banka kwumva. 30 Warabihanganiye+ imyaka myinshi, uguma ubaburira biciye ku bahanuzi bawe bayoborwa n’impwemu yawe, mugabo banka kwumva. Amaherezo wararetse abantu bo mu bihugu bibanyi barabatsinda+. 31 Mugabo kubera imbabazi zawe nyinshi, ntiwabatikije+ canke ngo ubahebe, kuko uri Imana y’impuhwe* n’imbabazi+.

32 None rero Mana yacu, Mana ihambaye, ikomeye kandi iteye akoba, wewe washikije ivyo wasezeranye ukerekana n’urukundo rudahera*+, turagusavye ntiwirengagize amagume yose yadushikiye twe n’abami bacu, abatware bacu+, abaherezi bacu+, abahanuzi bacu+, ba sogokuruza bacu n’abantu bawe bose, kuva mu misi y’abami ba Ashuri+ gushika n’uyu musi. 33 Mu vyadushikiye vyose, ntiwigeze uturenganya kuko wagumye uri umwizigirwa. Ni twe twakoze ivy’ububisha+. 34 Nayo abami bacu, abatware bacu, abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu, ntibakurikije amategeko yawe canke ngo bumvire* amabwirizwa yawe n’ivyo wabibutsa* ubaburira. 35 No ku ntwaro z’abami bacu, igihe bari bakinezererwa ibintu vyiza vyinshi wabahaye, bibereye mu gihugu cagutse kandi cimbuka* wabaronkeje, ntibagukoreye+ kandi ntibahevye ingeso zabo mbi. 36 Ehe uyu musi turi abashumba+. Turi abashumba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu ngo barye umwimbu waco n’ibintu vyiza vyaco. 37 Umwimbu waco mwinshi uja ku bami wemeye ko batuganza kubera ibicumuro vyacu+. Twebwe* n’ibitungwa vyacu batuganza uko bishakiye, kandi turi mu magorwa menshi.

38 Kubera ivyo vyose rero, tugize isezerano ntabanduka+ rishizwe mu nyandiko kandi ryemejwe n’ikidodo c’abatware bacu, Abalewi bacu n’abaherezi bacu+.»

10 Abavyemeje bakabishirako n’ikidodo+ bari aba:

Buramatari* Nehemiya mwene Hakaliya,

Zedekiya, 2 Seraya, Azariya, Yeremiya, 3 Pashuri, Amariya, Malikiya, 4 Hatushi, Shebaniya, Maluku, 5 Harimu+, Meremoti, Obadiya, 6 Daniyeli+, Ginetoni, Baruki, 7 Meshulamu, Abiya, Miyamini, 8 Mahaziya, Biligayi na Shemaya. Abo bari abaherezi.

9 Harimwo n’aba Balewi: Yeshuwa mwene Azaniya, Binuwi wo muri bene Henadadi, Kadumiyeli+ 10 na benewabo ari bo Shebaniya, Hodiya, Kelita, Pelaya, Hanane, 11 Mika, Rehobu, Hashabiya, 12 Zakuri, Sherebiya+, Shebaniya, 13 Hodiya, Bani na Beninu.

14 Harimwo n’aba bakuru baserukira abantu: Paroshi, Pahati-Mowabu+, Elamu, Zatu, Bani, 15 Buni, Azigadi, Bebayi, 16 Adoniya, Bigivayi, Adini, 17 Ateri, Hezekiya, Azuri, 18 Hodiya, Hashumu, Bezayi, 19 Harifu, Anatoti, Nebayi, 20 Magipiyashi, Meshulamu, Heziri, 21 Meshezabeli, Sadoki, Yaduwa, 22 Pelatiya, Hanane, Anaya, 23 Hosheya, Hananiya, Hashubu, 24 Haloheshi, Piliha, Shobeki, 25 Rehumu, Hashabuna, Mayaseya, 26 Ahiya, Hanane, Anane, 27 Maluku, Harimu na Bayana.

28 Mu bantu basigaye harimwo abaherezi, Abalewi, abarinzi b’amarembo, abaririmvyi, abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* n’abo bose bitandukanije n’abantu bo mu bihugu bibanyi kugira bakurikize amategeko y’Imana y’ukuri+, bo n’abagore babo, abahungu babo n’abakobwa babo, ni ukuvuga abantu bose bashobora gutegera* iryo sezerano. 29 Bifatanije na benewabo b’abakuru, bararahira bemera no kuvumwa baramutse babirenzeko. Bemeye ko bazogendera mu mategeko Imana y’ukuri yabahaye biciye kuri Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri, bakongera bakubahiriza neza amabwirizwa yose ya Yehova Umukama wacu, ingingo yashinze n’ivyagezwe vyiwe. 30 Basezeranye bati: «Ntituzoha abakobwa bacu abantu bo muri iki gihugu, n’abakobwa babo ntituzobasabira abahungu bacu+.

31 Abantu bo muri iki gihugu nibazana ibidandazwa canke ubwoko bwose bw’intete ngo babigurishe ku musi w’isabato, nta na kimwe tuzobashorera kw’isabato+ canke ku musi mweranda+. Vyongeye, tuzoheba umwimbu wo mu mwaka ugira indwi+, duhebe n’amadeni yose twari duheraniwe+.

32 Twiyemeje kandi yuko umwe wese muri twebwe azotanga ica gatatu ca shekeli* ku mwaka ku mwaka. Ayo mahera azoba agenewe igikorwa c’inzu* y’Imana yacu+, 33 imikate igerekeranye*+, ishikanwa ry’intete ryamaho+ n’ishikanwa riturirwa ryamaho ritangwa ku masabato+ no ku mboneko z’ukwezi+. Azoba agenewe kandi imisi mikuru yashinzwe+, ibintu vyeranda, amashikanwa y’igicumuro+ atangwa kugira Abisirayeli bababarirwe ibicumuro* n’ibindi bikorwa vyose vyo ku nzu y’Imana yacu.

34 Twiyemeje kandi kuzogira ubupfindo ku bijanye n’inkwi abaherezi, Abalewi n’abandi bantu bakwiye kuza barazana ku nzu y’Imana yacu bisunze imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Bazozizana ku bihe vyashinzwe ku mwaka ku mwaka, kugira ngo zicanwe ku gicaniro ca Yehova Imana yacu nk’uko vyanditswe mu mategeko+. 35 Twiyemeje kandi ko ku mwaka ku mwaka tuzozana ku nzu ya Yehova ivyeze ubwa mbere mu mirima yacu n’ivyamwa vyeze ubwa mbere ku biti vy’ubwoko bwose+. 36 Tuzozana n’abahungu bacu b’imfura be n’ibitungwa* vyacu vyavutse ubwa mbere+ hisunzwe ivyanditswe mu mategeko, tuzane n’inka, intama n’impene vyavutse ubwa mbere. Tuzobizana ku nzu y’Imana yacu, tubihe abaherezi bahakorera+. 37 N’ikindi kandi, tuzozanira abaherezi mu vyumba vy’ububiko* vy’inzu y’Imana yacu+ intete zijanjaguye* z’ivyo twimbuye ubwa mbere*+, intererano zacu, ivyamwa vyo ku biti vy’ubwoko bwose+, umuvinyu mushasha n’amavuta+. Tuzozanira n’Abalewi ic’icumi* c’ivyo twimbuye mu mirima yacu+, kuko Abalewi ari bo bakira ivy’icumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.

38 Kandi umuherezi mwene Aroni ategerezwa kuba ari kumwe n’Abalewi igihe bakira ic’icumi. Abalewi na bo bakwiye gutanga ic’icumi kuri ico c’icumi baronse, bagitange ku nzu y’Imana yacu+, mu vyumba* biri mu nzu y’ububiko. 39 Bazokizana muri ivyo vyumba vy’ububiko* kuko ari ho Abisirayeli n’Abalewi bakwiye gushira intererano+ y’intete, umuvinyu mushasha n’amavuta+. Aho ni ho hari ibikoresho vy’aheranda, hakaba n’abaherezi bari ku kivi, abarinzi b’amarembo n’abaririmvyi. Ntituzofata minenegwe inzu y’Imana yacu+.»

11 Ico gihe abatware barongoye abantu baba i Yeruzalemu+. Mugabo ku bijanye n’abantu basigaye, hagizwe ubupfindo+ kugira ngo umuntu umwe mu bantu cumi aje kuba i Yeruzalemu igisagara ceranda, icenda basigaye na bo babe mu bindi bisagara. 2 Maze abantu bahezagira abitanze bose ngo baje kuba i Yeruzalemu.

3 Aba ni bo bakuru b’intara baba i Yeruzalemu. (Abasigaye mu Bisirayeli, mu baherezi, mu Balewi, mu basuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ no mu bahungu b’abasuku ba Salomo+, baba mu bindi bisagara vy’Ubuyuda, umwe wese akaba aho yatoranye mu gisagara iwabo+.

4 Hari n’abandi bantu bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini baba i Yeruzalemu.) Mu bo mu muryango wa Yuda hari Ataya umuhungu wa Uziya, Uziya wa Zakariya, Zakariya wa Amariya, Amariya wa Shefatiya, Shefatiya wa Mahalaleli akomoka muri bene Peresi+. 5 Hari na Mayaseya umuhungu wa Baruki, Baruki wa Kolihoze, Kolihoze wa Hazaya, Hazaya wa Adaya, Adaya wa Yoyaribu, Yoyaribu wa Zakariya, Zakariya wo mu muryango w’Abashela. 6 Abakomoka kuri Peresi bose baba i Yeruzalemu bari 468. Bari abagabo b’intwari.

7 Mu bava mu muryango wa Benyamini hari Salu+ umuhungu wa Meshulamu, Meshulamu wa Yowedi, Yowedi wa Pedaya, Pedaya wa Kolaya, Kolaya wa Mayaseya, Mayaseya wa Itiyeli, Itiyeli wa Yeshaya. 8 Hari na Gabayi na Salayi. Bose hamwe bari 928. 9 Yoweli mwene Zikiri ni we yabahagarikira, Yuda mwene Hasenuwa na we akaba icegera c’uwujejwe igisagara.

10 Mu baherezi hari aba: Yedaya mwene Yoyaribu, Yakini+, 11 Seraya umuhungu wa Hilikiya, Hilikiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu+ indongozi mu nzu* y’Imana y’ukuri, 12 hamwe na benewabo bakora igikorwa co muri iyo nzu. Bose hamwe bari 822. Hari na Adaya umuhungu wa Yerohamu, Yerohamu wa Pelaliya, Pelaliya wa Amusi, Amusi wa Zakariya, Zakariya wa Pashuri, Pashuri+ wa Malikiya, 13 na benewabo na Adaya, abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo. Bose hamwe bari 242. Hari na Amashisayi umuhungu wa Azareli, Azareli wa Ahazayi, Ahazayi wa Meshilemoti, Meshilemoti wa Imeri, 14 na benewabo na Amashisayi, abagabo b’intwari kandi barinda. Bose hamwe bari 128. Zabidiyeli ni we yari abahagarikiye, akaba yava mu muryango ukomeye.

15 Mu Balewi hari Shemaya+ umuhungu wa Hashubu, Hashubu wa Azirikamu, Azirikamu wa Hashabiya, Hashabiya wa Buni, 16 n’abakuru b’Abalewi, ari bo Shabetayi+ na Yozabadi+ bari bajejwe ivyakorerwa hanze y’inzu y’Imana y’ukuri. 17 Hari na Mataniya+ umuhungu wa Mika, Mika wa Zabidi, Zabidi wa Asafu+. Asafu yari indongozi y’abaririmvyi, akaba ari we yaja imbere abandi mu gushemeza Imana bariko barasenga+. Hari na Bakibukiya umufasha wa Asafu, na Abuda umuhungu wa Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni+. 18 Abalewi bose baba mu gisagara ceranda bari 284.

19 Abarinzi b’amarembo bari Akubu, Talimoni+ na benewabo barinda amarembo. Bose hamwe bari 172.

20 Abasigaye mu Bisirayeli, mu baherezi no mu Balewi, baba mu bindi bisagara vyose vyo mu Buyuda, umwe wese akaba aho yatoranye*. 21 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ baba i Ofeli+. Ziha na Gishipa ni bo bari babahagarikiye.

22 Uwari ahagarikiye Abalewi i Yeruzalemu yari Uzi umuhungu wa Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya+, Mataniya wa Mika, akomoka mu baririmvyi bene Asafu. Ni we yari ahagarikiye igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri. 23 Hariho itegeko ry’i bwami ryatanzwe ku bijanye n’abaririmvyi+, ryatuma baza bararonka ivyo bakeneye buri musi. 24 Petahiya mwene Meshezabeli akomoka muri bene Zera, Zera umuhungu wa Yuda, yari umujanama w’umwami* ajejwe ibibazo vyose vy’abanyagihugu.

25 Ng’ibi ibigwati abantu babamwo n’amatongo abikikuje: bamwe mu bava mu muryango wa Yuda baba i Kiriyati-Aruba+ no mu dusagara tuhegukira*, i Diboni no mu dusagara tuhegukira, i Yekabuzeyeli+ no mu bigwati bihegereye, 26 i Yeshuwa, i Molada+, i Beti-Peleti+, 27 i Hazari-Shuwali+, i Beri-Sheba no mu dusagara tuhegukira*, 28 i Sikulagi+, i Mekona no mu dusagara tuhegukira*, 29 i Eni-Rimoni+, i Zora+, i Yarimuti, 30 i Zanowa+, i Adulamu no mu bigwati bihegereye, i Lakishi+ no mu matongo ahakikuje be n’i Azeka+ no mu dusagara tuhegukira*. Baba* kuva i Beri-Sheba gushika ku mubande wa Hinomu+.

31 Abava mu muryango wa Benyamini baba i Geba+, i Mikimashi, i Ayija, i Beteli+ no mu dusagara tuhegukira*, 32 i Anatoti+, i Nobu+, i Ananiya, 33 i Hazori, i Rama+, i Gitayimu, 34 i Hadidi, i Zeboyimu, i Nebalati, 35 i Lodi n’i Ono+ mu mubande w’abanyamyuga b’abahinga. 36 Hari imigwi y’Abalewi bo mu Buyuda barungitswe kuba mu karere ka Benyamini.

12 Aba ni bo baherezi n’Abalewi baduganye na Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli+ be na Yeshuwa+: Seraya, Yeremiya, Ezira, 2 Amariya, Maluku, Hatushi, 3 Shekaniya, Rehumu, Meremoti, 4 Ido, Ginetoyi, Abiya, 5 Miyamini, Mayadiya, Biliga, 6 Shemaya, Yoyaribu, Yedaya, 7 Salu, Amoki, Hilikiya na Yedaya. Abo ni bo bari abakuru b’abaherezi na benewabo mu gihe ca Yeshuwa.

8 Abalewi bari Yeshuwa, Binuwi, Kadumiyeli+, Sherebiya, Yuda na Mataniya+. Mataniya na benewabo ni bo baja imbere mu bijanye n’indirimbo zo gukengurukira Imana. 9 Benewabo Bakibukiya na Uni bahagarara imbere yabo kugira bakore igikorwa* co kurinda urusengero. 10 Yeshuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu+, Eliyashibu na we avyara Yoyada+. 11 Yoyada yavyaye Yonatani, Yonatani na we avyara Yaduwa.

12 Aba ni bo bari abaherezi mu gihe ca Yoyakimu, bakaba n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo: mu bo kwa Seraya+ yari Meraya, mu bo kwa Yeremiya yari Hananiya, 13 mu bo kwa Ezira+ yari Meshulamu, mu bo kwa Amariya yari Yehohanani, 14 mu bo kwa Maluki yari Yonatani, mu bo kwa Shebaniya yari Yozefu, 15 mu bo kwa Harimu+ yari Aduna, mu bo kwa Merayoti yari Helikayi, 16 mu bo kwa Ido yari Zakariya, mu bo kwa Ginetoni yari Meshulamu, 17 mu bo kwa Abiya+ yari Zikiri, mu bo kwa Miniyamini yari . . .*, mu bo kwa Mowadiya yari Pilitayi, 18 mu bo kwa Biliga+ yari Shamuwa, mu bo kwa Shemaya yari Yehonatani, 19 mu bo kwa Yoyaribu yari Matenayi, mu bo kwa Yedaya+ yari Uzi, 20 mu bo kwa Salayi yari Kalayi, mu bo kwa Amoki yari Eberi, 21 mu bo kwa Hilikiya yari Hashabiya, mu bo kwa Yedaya na ho yari Netaneli.

22 Abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi mu gihe ca Eliyashibu, Yoyada, Yohanani na Yaduwa+, baranditswe cokimwe n’abaherezi gushika ku ntwaro ya Dariyo Umuperesi.

23 Abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi banditswe mu gitabu kivuga ivyabaye muri ivyo bihe, gushika mu gihe ca Yohanani mwene Eliyashibu. 24 Abakuru b’Abalewi bari Hashabiya, Sherebiya na Yeshuwa+ mwene Kadumiyeli+. Benewabo b’abarinzi bahagarara mu migwi babangabanganye na bo kugira bashemeze Imana bongere bayikengurukire, bisunze amategeko Dawidi+ wa muntu w’Imana y’ukuri yatanze. 25 Mataniya+, Bakibukiya, Obadiya, Meshulamu, Talimoni na Akubu+ bari abarinzi b’amarembo+. Barinda ivyumba vy’ububiko biri hafi y’amarembo. 26 Abo bakoze mu gihe ca Yoyakimu umuhungu wa Yeshuwa+, Yeshuwa wa Yozadaki, no mu gihe ca buramatari Nehemiya n’umuherezi Ezira+ akaba n’umwimuzi*.

27 Hageze ko bashikiriza Imana uruzitiro rwa Yeruzalemu, bararondeye Abalewi iyo baba hose babazana i Yeruzalemu. Kwari ukugira ngo bashikirize Imana urwo ruzitiro mu munezero, baririmba indirimbo zo kuyikengurukira+, bavuza ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga. 28 Maze abaririmvyi bamenyerejwe* bakoranira hamwe bavuye mu karere ka Yorodani*, mu micungararo ya Yeruzalemu no mu bigwati vy’Abanyanetofa+. 29 Bavuye n’i Beti-Gilugali+ no mu turere tw’i Geba+ n’i Azimaveti+, kuko abaririmvyi bari bariyubakiye ibigwati mu micungararo ya Yeruzalemu. 30 Nuko abaherezi n’Abalewi barityorora, batyorora n’abantu+, amarembo+ n’uruzitiro+.

31 Maze nsaba abatware bo mu Buyuda ngo burire ku ruzitiro. Vyongeye, nshiraho imigwi ibiri minini y’abaririmba indirimbo zo gukengurukira Imana hamwe n’ababagendanira. Umwe muri iyo migwi y’abaririmba waciye iburyo hejuru ku ruzitiro, ugana kw’irembo ry’ibirundo vy’umunyota+. 32 Inyuma yabo hagendera Hoshaya n’ica kabiri c’abatware bo mu Buyuda, 33 na Azariya, Ezira, Meshulamu, 34 Yuda, Benyamini, Shemaya na Yeremiya. 35 Bari kumwe na bamwe mu bahungu b’abaherezi bafise inzumbete+, ari bo Zakariya umuhungu wa Yonatani, Yonatani wa Shemaya, Shemaya wa Mataniya, Mataniya wa Mikaya, Mikaya wa Zakuri, Zakuri wa Asafu+, 36 na benewabo Shemaya, Azareli, Milalayi, Gilalayi, Mayayi, Netaneli, Yuda na Hanani. Bari bafise ibicurarangisho vya Dawidi+ wa muntu w’Imana y’ukuri. Ezira+ wa mwimuzi* ni we yari imbere yabo. 37 Bageze kw’irembo ryo kw’isôko+ baciye bagenda batumbereye imbere yabo, badugana ku ngazi+ z’igisagara ca Dawidi+ baciye ku kadugo k’uruzitiro haruguru y’inzu ya Dawidi. Barabandanya gushika kw’irembo ry’amazi+, amaja mu buseruko.

38 Uwundi mugwi w’abaririmba indirimbo zo gukenguruka waciye ibubamfu*. Nari inyuma yawo ndi kumwe n’ica kabiri c’abantu. Twaciye hejuru ku ruzitiro, duca ku munara w’amafuru+, turagenda gushika ahitwa uruhome rwagutse+. 39 Hanyuma duca hejuru kw’irembo rya Efurayimu+, turabandanya gushika kw’irembo ry’igisagara ca kera+. Maze turagenda duca kw’irembo ry’amafi+, ku munara wa Hananeli+, ku munara wa Meya no kw’irembo ry’intama+, duhagarara kw’irembo ry’abarinzi.

40 Amaherezo iyo migwi ibiri y’abaririmba indirimbo zo gukenguruka ishika imbere y’inzu y’Imana y’ukuri irahagarara. Nanje ni ho nahagaze ndi kumwe n’ica kabiri c’abatware bo hasi 41 n’abaherezi bafise inzumbete ari bo Eliyakimu, Mayaseya, Miniyamini, Mikaya, Eliyowenayi, Zakariya na Hananiya. 42 Nari kumwe kandi na Mayaseya, Shemaya, Eleyazari, Uzi, Yehohanani, Malikiya, Elamu na Ezeri. Abaririmvyi baririmvye n’ijwi rirenga bahagarikiwe na Izurahiya.

43 Nuko kuri uwo musi bashikana ibimazi vyinshi kandi baranezerwa+ kuko Imana y’ukuri yatumye bagira umunezero mwinshi. N’abagore n’abana baranezerewe+ ku buryo umunezero w’abari i Yeruzalemu wumvikana kure+.

44 Kuri uwo musi hagenwa abagabo bajejwe ivyumba vy’ububiko+ vyo gushiramwo intererano+, ivyimbuwe ubwa mbere*+ n’ivy’icumi+. Ivyo vyumba bari kuvyegeranirizamwo imigabane y’ivyimbuwe mu mirima ikikuje ibisagara. Yari imigabane ihabwa abaherezi n’Abalewi+ nk’uko amategeko abisaba+. Mu Buyuda hari umunezero kubera ko abaherezi n’Abalewi bariko bakora igikorwa cabo. 45 Abo baherezi n’Abalewi bari batanguye kwitwararika ivyo bajejwe mu gikorwa c’Imana yabo n’igikorwa bajejwe co gutyorora abantu n’ibintu, bakurikije amategeko Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo batanze. Abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo na bo bagize ukwo nyene 46 kuko kera cane mu gihe ca Dawidi na Asafu hariho abakuru bayobora abaririmvyi, bakitwararika n’ibijanye n’indirimbo zo gushemeza Imana no kuyikengurukira+. 47 Mu gihe ca Zerubabeli+ no mu gihe ca Nehemiya, Abisirayeli bose baraha intererano abaririmvyi+ n’abarinzi b’amarembo+ zihuye n’ivyo bakenera ku musi ku musi. Vyongeye, baraha intererano nyeranda* Abalewi+, Abalewi na bo bagaha* abakomoka kuri Aroni.

13 Ico gihe basomera abantu mu gitabu ca Musa+. Basanze handitsemwo yuko ata Mwamoni canke Umunyamowabu+ akwiye kwigera yemererwa kuba mu bagize ishengero ry’Imana y’ukuri+, 2 kuko batasanganiye Abisirayeli ngo babahe umukate n’amazi, ahubwo bagaha amahera Balamu ngo abavume+. Ariko uwo muvumo Imana yacu yawuhinduye umuhezagiro+. 3 Bakimara kwumva amategeko babasomeye, batangura gukura mu Bisirayeli abanyamahanga* bose+.

4 Ariko imbere y’ivyo, umuherezi Eliyashibu+ ni we yari ajejwe ivyumba vy’ububiko* vyo ku nzu* y’Imana yacu+, akaba yari incuti ya Tobiya+. 5 Yari yarahaye Tobiya icumba kinini c’ububiko* cahora kibikwamwo amashikanwa y’intete, imibavu*, ibikoresho n’ic’icumi c’intete, ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta+. Ico c’icumi categerezwa guhabwa Abalewi+, abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo. Ni na ho habikwa intererano igenewe abaherezi+.

6 Muri ico gihe cose, sinari i Yeruzalemu kuko nari nasubiye i bwami mu mwaka ugira 32+ Aritazerusi umwami wa Babiloni aganza+. Haciye igihe, naciye ndamusaba uruhusha rwo kugenda. 7 Nshitse i Yeruzalemu, mbona ikintu c’akamaramaza Eliyashibu+ yari yarakoze: nasanze yarahaye Tobiya+ icumba c’ububiko mu kigo c’inzu y’Imana y’ukuri. 8 Ivyo vyarambabaje cane. Naciye mfata ibintu* vyose vya Tobiya vyari muri ico cumba c’ububiko* ndabiterera hanze. 9 Inyuma y’ivyo, ntegeka ko bahumanura ivyumba vy’ububiko*. Nca nsubizayo ibikoresho vy’inzu y’Imana y’ukuri+ hamwe n’amashikanwa y’intete n’imibavu+.

10 Nahavuye menya kandi yuko Abalewi batari bagihabwa intererano bagenewe+, bikaba vyatumye Abalewi n’abaririmvyi bata igikorwa, umwe wese akigira kw’itongo ryiwe+. 11 Maze ntatira abatware bo hasi+, mvuga nti: «Kubera iki inzu y’Imana y’ukuri yafashwe minenegwe+?» Nca nkoranya abari bataye ibikorwa, ndabasubiza ku bikorwa vyabo. 12 Nuko abo mu Buyuda bose bazana mu vyumba vy’ububiko ic’icumi+ c’intete, ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta+. 13 Maze ivyo vyumba vy’ububiko ndabizeza umuherezi Shelemiya, umwimuzi* Sadoki n’Umulewi Pedaya. Uwabafasha yari Hanane umuhungu wa Zakuri, Zakuri wa Mataniya. Abo bagabo babonwa ko ari abizigirwa. Ni bo bari bajejwe kugabura ibintu bakabiha benewabo.

14 Mana yanje, uze ubinyibukire+, kandi ntuze wibagire ivyiza* nakoreye inzu yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze kugira nshigikire ibihakorerwa+.

15 Muri iyo misi, mbona abantu bo mu Buyuda bariko bagana* umuvinyu kw’isabato+, abazana ibirundo vy’intete maze bakaziremeka indogobwa, n’abazana umuvinyu, inzabibu, insukoni n’imizigo y’ubwoko bwose, bakavyinjiza i Yeruzalemu kw’isabato+. Nca ndababuza kugurisha ibiribwa kuri uwo musi*. 16 Abanyatiro baba mu gisagara barazana amafi n’ubwoko bwose bw’ibidandazwa, bakabigurisha kw’isabato+ ku Bayuda baba i Yeruzalemu. 17 Nca ntatira abanyacubahiro bo mu Buyuda, mvuga nti: «Mushobora gute gukora ikibi nk’ico, mugahumanya n’umusi w’isabato? 18 Ivyo si vyo ba sogokuruza banyu bakoze, bigatuma Imana yacu iduteza ibi vyago vyose, ikabiteza n’iki gisagara? None raba muriko murongerereza ishavu rirurumba Imana ifitiye Abisirayeli mu guhumanya isabato+.»

19 Bugitangura kwira, imbere y’uko isabato itangura, ntegeka ko bugara amarembo y’i Yeruzalemu. Ntegeka kandi ko bayugurura ari uko isabato iheze. Ku marembo naciye ndahashira bamwe mu basuku banje kugira ngo ntihagire umuzigo winjira ku musi w’isabato. 20 Abadandaza n’abandi bacuruza ibintu vy’ubwoko bwose baciye rero barara inyuma ya Yeruzalemu incuro imwe canke zibiri. 21 Nca ndabihaniza nti: «Kubera iki murara inyuma y’uruzitiro? Nimwasubira nzohabakura ku nguvu.» Kuva ico gihe ntibongeye kuza kw’isabato.

22 Hanyuma mbwira Abalewi yuko bakwiye kwama bityorora, bakaza kurinda amarembo kugira ngo umusi w’isabato ugume ari mweranda+. Mana yanje, n’ivyo uze ubinyibukire, ungirire akagongwe kubera urukundo* rwawe rwinshi+.

23 Muri iyo misi mbona n’Abayuda bari bararongoye* Abanyashidodikazi+, Abamonikazi n’Abanyamowabukazi+. 24 Mu bana babo, igice kimwe cavuga ikinyashidodi, ikindi kikavuga indimi zo mu yandi mahanga. Nta n’umwe yavuga ikiyuda. 25 Nuko ntatira abo bagabo, ndabahamagarirako umuvumo nongera nkubita bamwe muri bo+, ndabashikura imishatsi. Maze ndabarahiza mw’izina ry’Imana nti: «Abakobwa banyu ntimukwiye kubaha abahungu babo, n’abakobwa babo ntimukwiye kubasabira abahungu banyu canke ngo mubarongore+. 26 Mbega abo si bo bacumuje Salomo umwami wa Isirayeli? Mu mahanga menshi nta mwami ameze nka we yariho+ kandi Imana yiwe yaramukunze+ imugira umwami wa Isirayeli yose. Ariko na we nyene abagore b’abanyamahangakazi baramucumuje+. 27 Si akamaramaza kubona mukora ico kibi gikomeye, mugahemukira Imana yacu mu kurongora abanyamahangakazi+?»

28 Umwe mu bahungu ba Yoyada+, Yoyada umuhungu w’umuherezi mukuru Eliyashibu+, yari asigaye ari umukwe wa Sanibalati+ wa Muhoroni. Nuko ndamwirukana, amva iruhande.

29 Mana yanje, uze ubibuke ubahane kubera ko bahumanije ubuherezi n’isezerano wagiranye n’abaherezi+ be n’Abalewi+.

30 Nuko ndabatyorora ndabakuramwo ubuhumane bwose bwavuye mu banyamahanga, maze nshinga ibikorwa abaherezi n’Abalewi kugira umwe wese akore igikorwa ciwe+. 31 Ntunganya n’ivyo kuzana inkwi+ ku bihe vyashinzwe n’ivyo kuzana ivyeze ubwa mbere.

Mana yanje, uze unyibuke umpezagire*+.

Iryo zina risobanura ngo «Yehova arahoza.»

Raba Inyongera ya B15.

Ni ukuvuga mu mwaka ugira 20 umwami w’Ubuperesi yitwa Aritazerusi wa mbere atwara.

Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

Canke «Suza.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «ingabisho wahaye.» Mu giheburayo havuga ngo «ijambo wategetse.»

Canke «ngo habe.»

Raba Inyongera ya B15.

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «kuko ukuboko kwiza kw’Imana yanje kwari kuri jewe.»

Mu giheburayo havuga ngo «umusuku.»

Canke «mu mwonga.»

Canke «ingene ukuboko kwiza kw’Imana yanje kwabaye kuri jewe.»

Mu giheburayo havuga ngo «bakomeza amaboko yabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «wa musuku.»

Canke «nta n’aho muhuriye na kahise kaho.»

Canke «baryegurira Imana.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntibazanye amazosi yabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «begukira intebe y’ubwami ya buramatari.»

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Canke «amavuta amota (amaparufe).»

Canke «amabuye abase.»

Canke «ikindi gice gipimwe.»

Ni nk’imetero 445. Raba Inyongera ya B14.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu karere ko mu micungararo.»

Canke «ikirimba.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «abikorera imizigo.»

Mu giheburayo havuga ngo «batubwira incuro cumi.»

Canke «mu bibanza vyo hasi cane biri ahabona.»

Canke «ikirwanisho batera.»

Mu giheburayo havuga ngo «ikindi ca kabiri.»

Canke «ikibuguro.»

Mu giheburayo havuga ngo «umubiri wacu ni cokimwe n’umubiri wa benewacu.»

Canke «inyungu y’umurengera.»

Imyelayo bayita kandi olive.

Canke «igice kimwe kw’ijana.» Bakiriha ku kwezi.

Mu giheburayo havuga ngo «nkunkumura igikiriza canje.» Ni ukuvuga igice c’impuzu co mu gikiriza. Kera ico gice cakoreshwa nk’umupfuko.

Canke «nibibe gutyo nyene.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Canke «bantegurira ku mahera yanje.»

Canke «ungirire neza.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu mutima wawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yabo azokoroka.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukomeze amaboko yanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «amvugeko ubwo buhanuzi.»

Raba Inyongera ya B15.

Ishobora kuba ari intara ya Babiloni canke y’Ubuyuda.

Muri iki kigabane, ijambo «abahungu» rishobora gusigura abakomotse kuri uwo muntu aba ariko aravugwa. Mu mirongo imwimwe na ho rishobora no kuba risigura ababa ahantu kanaka.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu ba Senaya.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu ba Mewunimu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu b’Abanefushesimu.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «bakurwa mu buherezi kuko bafashwe ko bahumanye.»

Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.

Raba Insiguro y’amajambo.

Inyumpu ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).

Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.

Muri rusangi, idarakima yari ihwanye n’igiceri c’inzahabu c’Abaperesi citwa idariki capima amagarama 8,4. Si ya darakima ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Raba Inyongera ya B14.

Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «umwanditsi.»

Canke «umwanditsi.»

Canke «nibibe gutyo nyene.»

Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.

Canke «umwanditsi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibintu binuze.»

Canke «igihome canyu gikomeye», «inkomezi zanyu.»

Canke «umwanditsi.»

Umuhadasi ni agati k’amababi ayagayaga n’amashurwe yera amota.

Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.

Mu giheburayo havuga ngo «ica kane c’umurango.»

Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»

Mu giheburayo havuga ngo «wahinguye.»

Izo ngabo zishobora kuba ari abamarayika n’inyenyeri.

Canke «ari umwizigirwa kuri wewe.»

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Canke «yo kwizigirwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «wari waradugije ukuboko kwawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «badadaza izosi ryabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «badadaje izosi ryabo.»

Canke «ikunda kubabarira.»

Canke «ubuntu.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «igishusho c’inyana gikozwe mu cuma bashongesheje.»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Canke «isi y’akanovera.»

Mu giheburayo havuga ngo «baterera itegeko ryawe inyuma y’umugongo wabo.»

Canke «bakabahonyanga.»

Canke «ubuntu.»

Canke «rudahemuka.»

Canke «batege yompi.»

Canke «ingabisho wabaha.»

Canke «gifise isi y’akanovera.»

Mu giheburayo havuga ngo «imibiri yacu.»

Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bamaze guca ubwenge ku buryo bashobora gutegera.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Canke «c’urusengero.»

Ni imikate y’ishikanwa.

Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Biboneka ko vyari ibitungwa amategeko yababuza kurya.

Canke «mu buriro.»

Mu giheburayo havuga ngo «ifu itanoze.»

Canke «umushuzo.»

Canke «ivy’icumi.»

Canke «mu buriro.»

Canke «muri ubwo buriro.»

Canke «mu Banetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «mu rusengero.»

Canke «mw’itongo rimwegukira.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «yari hafi y’ukuboko kw’umwami.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «bakambitse.»

Canke «tuhakikuje.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bahagarara imbere yabo bari ku gikorwa.»

Biboneka ko mu gisomwa c’igiheburayo ata zina rihari.

Canke «umwanditsi.»

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu b’abaririmvyi.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu ntara.»

Canke «wa mwanditsi.»

Canke «ku rundi ruhande.»

Canke «umushuzo.»

Canke «barashira ku ruhande umugabane ugenewe.»

Canke «bagashira ku ruhande umugabane ugenewe.»

Canke «abantu b’imvange.»

Canke «uburiro.»

Canke «ku rusengero.»

Canke «ahantu hanini h’uburiro.»

Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).

Canke «ibikoresho vyo mu nzu.»

Canke «muri ubwo buriro.»

Canke «uburiro.»

Canke «umwanditsi.»

Canke «ibikorwa biranga urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «baganisha ibirenge.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwo musi nca ndababuza kugurisha ibiribwa.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «bari barazanye mu ngo zabo.»

Canke «ungirire neza.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika