Nahumu
1 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Ninewe+: Igitabu c’ivyo Nahumu Umwelikoshi yeretswe:
2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+.
3 Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+; Yehova nta ho azoreka guhana+.
Inzira yiwe iri mu muyaga utema ugatongora no mu kirura, ibicu ni vyo ntumo itumurwa n’ibirenge vyiwe+.
4 Ahambarira ikiyaga+, akagikamya; yumisha inzuzi zose+.
Bashani na Karumeli birakabiranye+, n’ishurwe rya Libani rirakabiranye.
5 Imisozi iratigise kubera we, n’imirambi irashonze+.
Isi izosebagirika kubera mu maso hiwe; n’ubutaka bwimbuka buzosebagirika, be n’ababa kuri bwo bose+.
6 Ni nde ashobora guhagarara imbere y’uburake bwiwe+? Kandi ni nde ashobora guhangara ishavu ryiwe rirurumba+?
Emwe, ubushangashirwe bwiwe buzosukwa nk’umuriro+, kandi ibitandara bizositurirwa hasi kubera we.
7 Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye+ ku musi w’amarushwa+.
Arazi abaronderera ubuhungiro muri we+.
8 Azotikiza ahantu hiwe* biciye ku mwuzure w’amazi usendanisha+, kandi umwiza uzokurikirana abansi biwe+.
9 Ni ibiki muzokwiyumvira kugirira Yehova+? Aratikiza ntihagire igisigara.
Amarushwa ntazoza ubugira kabiri+.
10 Naho bariko basobanywa nk’amahwa+ kandi bakaba baborewe nk’ababorejwe n’inzoga yabo y’ingano+, ntibazobura kuyigizwa nk’ibishakara vyumye neza+.
11 Muri wewe hazova uwiyumvira kugirira nabi Yehova+, agapfundika ibitagira ikimazi+.
12 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Naho boba ata co bahajije kandi benshi bakaba bameze gutyo, ivyo ntibizobuza ko barandurwa+; hari uwuzoca muri bo. Nzoguteza amarushwa, ku buryo ntazosubira kuguteza amarushwa+. 13 Ubu rero nzovuna ingǒgo yiwe yo gutwarako ibintu ikuveko+, ncagagure n’imizana iri kuri wewe+. 14 Kandi Yehova yategetse ku bikwerekeye ati: ‘Nta citirirwa izina ryawe kizosubira kubibwa+. Nzorandura mu nzu y’imana zawe igishusho c’ikibazano n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+. Nzogutegurira imva+, kuko ata co wamaze.’
15 “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.”
2 Uwushwiragiza arakudugiye*+. Rinda ikibanza gikingijwe ibihome. Rereka inzira. Komeza amafyinga. Ongereza inguvu cane+.
2 Kuko Yehova azokoranya koko ubwiza bwa Yakobo+ nk’ubwiza bwa Isirayeli, kubera ko bageshejwe n’abageseza+; kandi bahoneje imivyaro yabo+.
3 Inkinzo y’abagabo biwe b’abanyenkomezi isizwe ibara ritukura; abagabo biwe b’inguvu bambaye ibisa n’ibara ry’umutukutuku rihinze+. Ku musi w’ukwitegura kwiwe, umukogote w’intambara uraca ibibatsi nk’umuriro w’ibikoresho vy’icuma, kandi amacumu y’igiti c’umuberoshi+ yajugumiye. 4 Imikogote y’intambara iguma igenda nk’iyasaze mu mabarabara+. Iguma yirasa irya n’ino mu bibanza vya bose. Isa n’ibimuri. Iguma yiruka nk’imiravyo+.
5 Umwami azokwibuka abakomakomeye biwe+. Bazogenda batsitagurika+. Bazokwihutira kuja ku ruhome rwiwe*, kandi ibizibizo bizokomezwa. 6 Amarembo y’inzuzi azokwugururwa ata kabuza, ikirimba na co kizoshonga koko. 7 Ivyo vyarashinzwe; yakuweko impuzu, azojanwa ata kabuza+, kandi abashumbakazi biwe bazonihagira n’ijwi nk’iry’inuma+, baguma bikubitagura ku mutima+. 8 Ninewe, kuva ibaho+, yamye imeze nk’ikidengeri c’amazi+; mugabo bariko barahunga. Barasemerera bati: “Hagarare! Hagarare!” Ariko nta n’umwe ahindukira+.
9 Nimusahure ifeza; nimusahure inzahabu+; kuko ibintu birundanijwe bitagira uko bingana. Hari isinzi ry’ibintu bihimbaye vy’ubwoko bwose+.
10 Igisagara kiragaragara, cogejwe, kandi gisigaye ari igiharabuga+! Umutima urashonze+, amavi ariko aradegedwa+, kandi amafyinga yose ari n’ububabare bukaze+; nayo mu maso habo hose, hajonjogoye+. 11 Buri hehe bwa butaho bw’intambwe, na rya senga ry’intambwe z’imikangara z’imigāra, hamwe intambwe yahora igendagenda ikongera ikinjira+, hamwe hahora icana c’intambwe, ata n’umwe abijugumiza+? 12 Intambwe yahora itabagurira ivyana vyayo ibikwiye, ikanigira ingore zayo. Yaguma yujuje ivyobo vyayo ivyo yacakiye, ikuzuza ubwikingo bwayo ibikoko yatabaguye+.
13 “Ehe ngira nkurwanye,” ni ko Yehova nyen’ingabo* avuze+, “kandi nzoturirira mu mwotsi umukogote w’intambara wiwe+. Inkota izorigata intambwe zawe z’imikangara z’imigāra+. Nzorandura kw’isi ivyo ucakira, kandi ijwi ry’intumwa zawe ntirizosubira kwumvikana+.”
3 Aragowe umwe ari igisagara gisesa amaraso+! Wese yuzuye ubuhendanyi n’ubwambuzi. Ntiyigera abura ico acakira! 2 Hari ijwi ry’ikimoko+ n’ijwi ry’ukujegera kw’ikurudumu, n’ifarasi yirasa, n’umukogote usimbasimba+, 3 uwugendera kw’ifarasi, n’urubeya rw’inkota, n’ukuravya kw’icumu+ n’abagandaguwe isinzi, n’ikirundo kinini c’abapfuye; imivyimba ntigira uko ingana. Baguma batsitagurika mu mivyimba yabo. 4 Ivyo vyatumwe n’ubumaraya bwinshi bwa wa mumaraya+, akwegêra kubera igikundiro ciwe, umwe karuhariwe mu bupfumu, umwe afatira mu mutego amahanga biciye ku bumaraya bwiwe, agafata n’imiryāngo biciye ku bupfumu bwiwe+.
5 “Ehe ngira nkurwanye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi nzoduza impuzu* yawe ndayigupfuke mu maso, ntume amahanga abona ubwambure bwawe+, n’ubwami bubone agateterwe kawe. 6 Nzogutako ibintu bisesemye+, ntume uba uwusuzuguritse; kandi nzokugira akabarore+. 7 Uwuzokubona wese azoguhunga+, avuge koko ati: ‘Ninewe yanyazwe! Ni nde azosangira na we umubabaro?’ Mbega abo kuguhoza nzobaronderera hehe? 8 Mbega uruta No-amoni+, uwari yicaye ku nkengera y’imigende ya Nili+? Amazi yari amukikuje irya n’ino, ikiyaga ni co cari ubutunzi bwiwe, uruhome rwiwe rukaba rwari ikiyaga. 9 Etiyopiya ni yo yari inguvu ziwe zose, be na Misiri+; kandi ntizagira aho zigarukira. Puti n’Abanyalibiya bahora bagufasha+. 10 No-amoni na yo nyene yabwirizwa kujanwa mu bunyagano+; yarajanywe kugirwa imbohe. Abana biwe na bo nyene basabirijwe mw’ihuriro ry’amabarabara yose+; kandi abanyacubahiro biwe babagabanganye biciye ku bupfindo+; abahambaye biwe bose baboheshejwe amapingu+.
11 “Na wewe nyene uzoborerwa+; uzoba ikintu kinyegejwe+. Na wewe nyene uzorondera igihome gikomeye co kwikinga umwansi+. 12 Ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome bimeze nk’ibiti vy’imisukoni biriko ivyamwa vya mbere vyeze: iyo binyigangijwe ntibibura gutibagurikira mu kanwa k’umuryi+.
13 “Ehe abantu bawe babaye nk’abagore hagati muri wewe+. Amarembo y’igihugu cawe ntazobura kwugururirwa abansi bawe. Umuriro uzorigata koko ibihindizo vyawe+. 14 Niwivomere amazi uzokoresha mu gihe c’ugusugerezwa+. Komeza ibibanza vyawe bikingijwe ibihome+. Ja mu rwondo, ukāte ibumba; fata iforoma y’amatafari. 15 Mbere no ng’aho umuriro uzohakurigatira. Inkota izokurandura+. Izokurigata nk’inzige+ zikiri nto. Niwigwize nk’inzige zikiri nto; wigwize nk’inzige. 16 Wagwije abacuruza bawe kurusha inyenyeri zo mu majuru+.
“Nayo inzige zikiri nto, ziriyubura koko hanyuma zikaguruka. 17 Abarinzi bawe bameze nk’uruzige, abinjiza ingabo bawe na bo bakamera nk’irumbu ry’inzige. Ku musi haba hakanye zikambika mu ngo z’amabuye. Izuba ripfa guseruka zigaca zihunga; kandi ahantu hazo, aho ziba ziri, mu vy’ukuri nta wuhamenya+.
18 “Abungere bawe batanguye guhunyiza+, ewe mwami wa Ashuri! Abakomakomeye bawe bigumira aho baba+. Abantu bawe bashwiragirijwe ku misozi, nta wubegeranya+. 19 Nta gahengwe kariho ku vyago vyawe. Uruguma rwawe rwabaye urudakira+. Abazokwumva ivyawe bose ntibazobura gukubita amashi ku yandi bakwitamba ku muvyimba+; kuko ni nde atahora acumukura kubera ububi bwawe budahera+?”
Ha Ninewe.
Uwudugiwe ni Ninewe.
Rwa Ninewe.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ibice vyo hepfo vy’impuzu.”