Habakuki
1 Ijambo Habakuki umuhanuzi yeretswe: 2 Yehova we, nzogeza ryari gutabaza ntiwumve+? Nzogeza ryari kugutakira ku bw’ubukazi, ntubudukize+? 3 Kubera iki unyereka ibintu bibabaza, ukaguma witegereza ivyago? Kubera iki ukunyaga n’ubukazi biri imbere yanje? Kubera iki hari ugutongana, kandi kubera iki hari ugushihana+?
4 Ni co gituma itegeko ritituka, n’ubutungane ntibwigere bushitswa+. Kubera ko umubisha akikuje umugororotsi, ni co gituma ubutungane bugorekwa+.
5 “Nimurabe mu mahanga, mwitegereze, murabane mwumiwe+. Nimwumirwe; kuko mu misi yanyu hagira hakorwe igikorwa mutazokwemera naho mwoba muciganiwe+. 6 Kuko ehe ngira mpagurutse Abakaludaya+, ihanga ry’inkazi kandi ry’irihurudutsi rija mu bibanza vyagutse vy’isi kugira ngo ryigarurire ingo zitari izaryo+. 7 Ni ihanga ry’agacavutu kandi riteye ubwoba. Ubutungane bwaryo n’iteka ryaryo biva kuri ryo+. 8 Amafarasi yaryo anyaruka kurusha ingwe, kandi arakaze kurusha amabingira yo ku mugoroba+. Amafarasi yaryo y’imbangutsi yadidaguye ibinono hasi, kandi amafarasi yaryo y’imbangutsi ava kure. Aguruka nk’inkona yihutira kurya ikintu+. 9 Ryose uko ringana rizanwa n’ubukazi+. Ugukoranira hamwe kwabo ni nk’umuyaga wo mu buseruko+; ryegeranya imbohe nk’umusenyi. 10 Ricokōra abami, rigatwengera mw’ijigo abategetsi bakurubakuru+. Mbere ritwenga ikibanza cose gikingijwe ibihome+, rikarunda ibivu rikagifata. 11 Mu vy’ukuri, ico gihe rizotera rija imbere nk’umuyaga, rirengane, maze ryagirwe n’icaha koko+. Ubwo bubasha bwaryo ribukesha imana yaryo+.”
12 Ewe Yehova, mbega ntiwamyeho kuva kera+? Ewe Mana yanje, Mweranda wanje, wewe ntupfa+. Ewe Yehova, warishizeho ku bwo gushitsa urubanza; ewe Gitandara+, warishizeho ku bwo gukangira+.
13 Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utoraba ikibi; ntushobora kwitegereza ivyago+. Kubera iki witegereza ibihemu+, ukaguma winumiye igihe umubisha amira uwumurusha ubugororotsi+? 14 Kubera iki umuntu yakuwe mw’ivu umugira nk’amafi yo mu kiyaga, nk’ibikwega inda hasi bitagira uwubiganza+? 15 Abo bose yabadugishije igera+; abakwega bari mu rusenga rwiwe rw’umukwabu, akabakoraniriza mu rusenga rwiwe rwo kuroba+. Ni co gituma anezerwa akongera agahimbarwa+. 16 Ni co gituma ashikanira ikimazi urusenga rwiwe rw’umukwabu, agafumbishiriza umwotsi w’ibimazi urusenga rwiwe rwo kuroba; kuko ari vyo bituma umugabane wiwe uba uwurunze amavuta akwiye, ibifungurwa vyiwe na vyo bikaba nzanamagara+. 17 None coba ari co gituma azokwama acuranura urusenga rwiwe rw’umukwabu, akama yica amahanga ata mpuhwe+?
2 Nzoguma mpagaze ku kirindiro canje+, ngume nshibamye ku kibambazi; nzoguma nderetse+ kugira ngo ndabe ico azovuga biciye kuri jewe+ be n’ico nzokwishura ninakangirwa+.
2 Nuko Yehova aranyishura, ati: “Andika ivyo weretswe, ubishire ku bisate mu buryo busomeka neza+, kugira ngo uwubisoma n’ijwi ryumvikana abisome atadidinganya+. 3 Kuko ivyo bintu vyerekanywe bikirindiriye igihe vyashingiwe+, kandi biguma vyihuta bigana kw’iherezo, kandi ntibizobesha. Naho vyoteba, ugume ubirindiriye; kuko bitazobura kuranguka+. Ntibizocererwa.
4 “Ehe yivyimbije+; ntiyagumye agororotse. Mugabo umugororotsi wewe, azobandanya kubeshwaho n’ubwizigirwa bwiwe+. 5 Egome, kubera ko umuvinyu ari igihemu+, umuntu w’umugabo arishima+; uwaguye icipfuzo ciwe nk’ukuzimu, akaba kandi ameze nk’urupfu, akaba adashobora guhaga+, ntazoshika kw’ihangiro ryiwe+. Aguma yiyegeranirizako amahanga yose yongera yikoranirizako ibisata vy’abantu vyose+. 6 Mbega abo bose ntibazomucako akagani+, bakamuvugako amajambo afobetse, akikiriza? Kandi bizovugwa ngo:
“‘Aragowe uwugwiza ibitari ivyiwe+, akongereza umwenda wiwe! Mbega ivyo bizogeza ryari+? 7 Mbega abagusaba inyungu ntibazohaguruka bukwi na bukwi, n’abakujegeza bakikangura, nawe ukababera koko ikintu co gusahurwa+? 8 Ko wanyaze amahanga menshi, nawe amasigarira yose y’ibisata vy’abantu azokunyaga+, kubera amaraso y’abantu washeshe be n’ubukazi wagiriye isi, n’igisagara n’abakibamwo bose+.
9 “‘Aragowe uwuronderera inzu yiwe inyungu mbi+, kugira ashire icari ciwe iyo hejuru, abone kurokorwa mu vyara vy’icago+! 10 Wateguriye inzu yawe ikintu c’akamaramaza, ukurandurwa kw’ibisata vy’abantu vyinshi+; uriko uracumura+. 11 Kuko ibuye rizoborogera mu ruhome, ikigiga na co kikaryishurira ku gisenge+.
12 “‘Aragowe uwubakisha igisagara ugusesa amaraso, agashimangirisha igisagara ukutagororoka+! 13 Raba! Mbega Yehova nyen’ingabo* si we azotuma ibisata vy’abantu bicumukurira umuriro gusa, n’imiryango y’amahanga yiruhiriza ubusa gusa+? 14 Kuko isi izoba yuzuye ukumenya ubuninahazwa bwa Yehova nk’uko amazi apfuka ikiyaga+.
15 “‘Aragowe uwuha abagenzi biwe ico kunywa acongeyeko ubushangashirwe bwiwe n’ishavu ryiwe, kugira ababoreze+ maze yitegereze ubwambure bwabo+. 16 Uzokwuzura agateterwe aho kwuzura ubuninahazwa+. Nunywe nawe+, uheze ubonwe ko utagenyerewe+. Igikombe co mu kuryo kwa Yehova na wewe kizogushikira+, kandi agaterasoni kazoba ku buninahazwa bwawe; 17 kuko ubukazi bwagiriwe Libani+ ari bwo buzogupfuka, be n’ugukakagurwa kwagiriwe ibikoko, ugutuma bigira ubwoba, kubera amaraso y’abantu washeshe be n’ubukazi wagiriye isi+, n’igisagara n’abakibamwo bose+. 18 Mbega igishusho c’ikibazano kimaze iki+, ngo uwagihinguye abe yarakibāje, canke igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe, n’umwigisha w’ibinyoma+, ngo uwagihinguye abe acizigira+, gushika aho akora imana ata co zimaze, z’ibiragi+?
19 “‘Aragowe uwubwira ikigegene c’igiti ngo: “Ikangure!”, akabwira ibuye ry’ikiragi ngo: “Vyuka! Ubwaryo rizotanga inyigisho+”! Ehe rikuyengejeko inzahabu n’ifeza+, kandi nta mpemu na nkeyi ziri muri ryo+. 20 Mugabo Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+. Cereza imbere yiwe, wa si yose+!’”
3 Isengesho rya Habakuki umuhanuzi, mu turirimbo tw’intimba: 2 Ewe Yehova, narumvise inkuru yawe+. Ewe Yehova, naratinye igikorwa cawe+.
Nukigire kizima hagati muri iyi myaka! Nukimenyekanishe hagati muri iyi myaka. Mu gihe c’umudugararo, niwibuke kugira imbabazi+!
3 Imana yaraje ivuye i Temani, egome, Umweranda aza avuye ku musozi Parani+. Sela*+.
Iteka ryiwe ryarapfutse amajuru+; kandi isi yaruzuye ishemezo ryiwe+.
4 Nayo ukwakaka kwiwe, kwabaye nk’umuco+. Yari afise imishwarara ibiri yava mu kuboko kwiwe, kandi aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegejwe+.
5 Ikiza caguma kigendera imbere yiwe+, inyonko iturira igakurikira ibirenge vyiwe+.
6 Yarahagaze kugira anyiganyize isi+. Yararāvye, asimbasimbisha amahanga+.
Imisozi y’ibihe bidahera yaramenaguritse+; imirambi yamaho igihe kitagira urugero yarunamye+. Izo ni zo nzira ziwe za kera.
7 Nabonye amahema ya Kushi ari mu marushwa. Ibitambara vy’amahema vy’igihugu ca Midiyani+ bitangura guhinda agashitsi+.
8 Mbega inzuzi, ewe Yehova, mbega inzuzi ni zo ishavu ryawe ryarurumbiye+, canke ikiyaga ni co ufitiye uburake+? Kuko wagendeye ku mafarasi yawe+; imikogote yawe yabaye ubukiriro+.
9 Umuheto wawe urapfukuwe usigara uri gusa+. Indahiro z’imiryango ni co kintu cavuzwe+. Sela. Isi wayisatuje inzuzi+.
10 Imisozi yarakubonye, ifatwa n’ububabare bukaze+. Igihuhusi kirimwo imituragaro cararenganye. Inyenga y’amazi yarumvikanishije ijwi ryayo+. Yaradugije hejuru amaboko yayo.
11 Izuba n’ukwezi vyarahagaze+ mu buraro bwavyo buhanitse+. Imyampi yawe yagumye igenda nk’umuco+. Ukuravya kw’icumu ryawe kwarabonesha+.
12 Wagendagenda mw’isi uratse. Wakubita amahanga nk’uko bakubita intete, washavuye+.
13 Wasohotse kuronsa ubukiriro abantu bawe+, gukiza uwo warobanuje amavuta*. Waramenaguye umukuru w’inzu y’umubisha+. Yarasambuwe gushika no hejuru, umushinge usigara uri ahabona+. Sela.
14 Wacumitishije+ umukuru w’abarwanyi biwe inkoni ziwe bwite igihe baguma baja imbere nk’igihuhusi ngo banshwiragize+. Akamwemwe kabo kari nk’ak’abiyemeje kurokereza umurushwa mu bwihisho+.
15 Waciye mu kiyaga n’amafarasi yawe, mu kigunguzi c’amazi menshi+.
16 Naravyumvise, mu nda yanje haradobangana; ijwi ryaravuze iminwa yanje ica iradegedwa; ububore bwaciye butangura kwinjira mu magufa yanje+; nuko mpinda agashitsi muri ivyo bintu narimwo, kugira ndindire umusi w’amarushwa+ ntekanye, igihe uzodugira abantu+ kugira ubatere.
17 Naho igiti c’umusukoni kitoshurika+, n’umwimbu ntuboneke ku mizabibu; naho igikorwa c’igiti c’umwelayo coba koko impfagusa, n’imikobeko ntiyimbuke ibifungurwa+; naho umukuku wohona koko mu ruhongore rw’ibitungwa, kandi mu ngo ntihabemwo ubusho+;
18 Na ho nyene jewe nzokwigina Yehova+; nzonezererwa Imana y’ubukiriro bwanje+.
19 Yehova Umukama Segaba ni we nkomezi zanje+; ibirenge vyanje azobigira nk’ivy’impongokazi+, kandi azotuma ngendagenda ku bibanza vyanje bikirurutse*+.
Ku muyobozi, ku bicurarangisho vyanje vy’imirya.