Mika
1 Ijambo rya Yehova ryaje kuri Mika+ w’i Moresheti mu misi ya Yotamu+ n’iya Ahazi+ n’iya Hezekiya+, abami ba Yuda+, iryo yeretswe ku bijanye na Samariya+ na Yeruzalemu+:
2 “Nimwumve, mwa bisata vy’abantu mwese; niwumvirize wa si we n’ibikwuzuye+, kandi Umukama Segaba Yehova abe icabona kibagiriza+, Yehova ari mu rusengero rwiwe rweranda+. 3 Kuko ehe, Yehova arasohotse avuye ahantu hiwe+, kandi azomanuka koko, ahonyange ibibanza bikirurutse* vy’isi+. 4 Imisozi izoshongera munsi yiwe+, kandi ibiyaya vyo hasi bizosatagurika, nk’ishashara kubera umuriro+, nk’amazi asutswe ahantu hashunguruka.
5 “Ivyo vyose vyatewe n’umugararizo wa Yakobo, egome, vyatewe n’ibicumuro vy’inzu ya Isirayeli+. None umugararizo wa Yakobo ni uwuhe? Mbega si Samariya+? Kandi ibibanza bikirurutse vya Yuda ni ibihe+? Mbega si Yeruzalemu? 6 Emwe, Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike co mu gahinga+, ahantu ho gutera imizabibu; amabuye yiwe nzoyasanzariza mu mubande, imishinge yiwe na yo ndayishire ahabona+. 7 Ibishusho vyiwe bibajwe bizojanjagurwa vyose+, kandi ingabirano zose yahaweko ingero zizoturirirwa mu muriro+; ibigirwamana vyiwe vyose nzobihonya. Kuko ivyo vyose yabirundanije abikuye mu bintu yahaweko ingero y’umumaraya, kandi bizosubira kuba ikintu gitanzweko ingero y’umumaraya+.”
8 Ku bw’ivyo, nzoboroga nongere ndire+; nzogenda ibirenge bigaragara kandi ndi gusa+. Nzoboroga nk’imbwebwe, ngandare nk’ibinyoni vyitwa imbuni vy’ibigore. 9 Kuko uruguma ruri kuri we rudashobora gukira+; kuko rwashitse no kuri Yuda+, icago kigashika kw’irembo ry’abantu banje, kigashika i Yeruzalemu+.
10 “Ntimubimenyeshe i Gati; oya ntimurire+.
“Niwikumbagaze mu mukungugu mu nzu ya Afura+. 11 Jabuka uri gusa bimwe vy’akamaramaza, ewe mugore uba i Shafiri+! Umugore aba i Zayanani ntiyasohotse. Ukuboroga kwa Beti-ezeli kuzobaka ahantu haho ho guhagarara. 12 Kuko umugore aba i Maroti yarindiriye ivyiza+, mugabo ibibi biba ari vyo bimanuka kw’irembo rya Yeruzalemu bivuye kuri Yehova+. 13 Bohera umukogote ku mugwi w’amafarasi, ewe mugore uba i Lakishi+! Yabereye umukobwa wa Siyoni intango y’igicumuro+, kuko imigararizo ya Isirayeli yabonetse muri wewe+. 14 Ni co gituma uzoha Moresheti-gati+ ingabirano z’agasaga. Amazu ya Akizibu+ yabereye abami ba Isirayeli nk’ikintu c’uruhendo. 15 Nzokuzanira umunyazi+, ewe mugore uba i Maresha+! Ubuninahazwa bwa Isirayeli buzoshika i Adulamu+. 16 Niwitobore ubuhanza, wimoshe umushatsi kubera abana bawe baguhimbara cane+. Niwagure ubuhanza bwawe bube nk’ubw’inkona, kuko bagiye mu bunyagano kure yawe+.”
2 “Baragowe abaja umugambi wo kugira nabi be n’abategura ibibi bari ku bitanda vyabo+! Bupfa guca bakabikora+, kuko babishoboye+. 2 Baripfuje imirima barayigarurira+; baripfuje n’amazu, barayatwara; bagunze umuntu w’umugabo n’urugo rwiwe+, bagunga umuntu n’intoranwa yiwe+.
3 “Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ndiko niyumvira ivyago+ vyo guteza uwu muryango+, ivyo mutazokwikura ku mazosi+, ku buryo mutazogendana ubwibone+; kuko ari igihe c’ivyago+. 4 Kuri uwo musi bazobacako umugani+ kandi bazobacurira intimba, egome, intimba+. Ntibazobura kuvuga bati: “Ni ukuri turanyazwe+! Umugabane w’abantu banje awuhaye abandi+. Ewe kuntu awunyatse! Amatongo yacu ayagabanganirije igihemu.” 5 Ni co gituma utazoronka mw’ishengero rya Yehova uwuzotera umugozi hakurikijwe ubupfindo+. 6 Ntihagire amajambo muvuga+. Bavuga amajambo, ariko ntibazovuga amajambo ajanye n’ivyo bintu. Ibiteterwe ntibizovaho+.
7 “‘Ewe nzu ya Yakobo+, vyoba bivugwa ngo: “Impwemu ya Yehova yoba itahimbawe, canke ukwo kwoba ari ko akora+?” Mbega amajambo yanje ntagirira neza+ uwugenda agororotse +?
8 “‘Ejo abantu banje bwite barahagurutse nk’umwansi katwa+. Abahita ata co binona nk’abavuye mu ntambara, mubambura agasharizo k’agakomeye mugakuye imbere ku mpuzu. 9 Abagore b’abantu banje mubirukana mu nzu umugore ahimbarirwa cane. Mukura ku bana biwe ubwiza bwanje bwakaka+, gushika igihe kitagira urugero*+. 10 Haguruke mugende+, kuko aha atari ahantu h’ukuruhukira+. Ko yabaye uwuhumanye+, agira asamburwe; kandi igikorwa c’ugusambura kirababaza+. 11 Umuntu akurikira umuyaga n’ikinyoma, nimba yarabeshe+ ngo: “Nzokubwira amajambo ajanye n’umuvinyu n’ayajanye n’inzoga ziboreza,” ni we rero azovuga amajambo ku bijanye n’aba bantu+.
12 “‘Ewe Yakobo, sinzobura kugukoranya wese+; egome, nzokoraniriza hamwe amasigarira ya Isirayeli+. Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa, nk’ubusho hagati mu buragiriro bwabwo+; ng’aho hazoba urwamo rw’abantu+’.
13 “Uwuca igihengeri azoduga imbere yabo+: emwe, bazoca igihengeri. Bazoca mw’irembo, barisohokanemwo+. Umwami wabo azobaja imbere, Yehova ari we abarongōye+.”
3 Maze mvuga nti: “Ndabinginze mwumve, yemwe bakuru bo mu ba Yakobo, namwe batware b’inzu ya Isirayeli+. Mbega si mwebwe mukwiye kumenya ubutungane+? 2 Mwebwe abanka iciza+ mugakunda ikibi+, abantu mukabakurako urukoba rwabo, n’inyama zabo mukazikura ku magufa yabo+. 3 Mwebwe abariye kandi inyama z’abantu banje+, mukabakurako urukoba rwabo, mukamenagura amagufa yabo, mukabajanjagura nk’ibintu biri mu nkono y’umunwa munini, nk’inyama ziri hagati mu nkono+. 4 Ico gihe bazotabaza Yehova, mugabo ntazobishura+. Azobahisha mu maso hiwe ico gihe+, nk’uko na bo bagize nabi mu vyo bakoze+.
5 “Ibi ni vyo Yehova avuze ku bahanuzi batuma abantu banje bayerera+, abaronka ico bahekenya n’amenyo yabo+ maze bagasemerera bati: ‘Ni amahoro+!’, ariko iyo umuntu atagize ico abashira mu kanwa bagaca beza intambara ngo bamurwanye; egome, ibi ni vyo avuze+ ati: 6 ‘Ku bw’ivyo muzoronka ijoro+, ku buryo ata kwerekwa kuzohaba+; muzoronka umwiza, kugira ngo ntimuragure. Kandi izuba rizorengera koko ku bahanuzi, umurango uzobacurirako umwiza+. 7 Ababonyi+ bazomaramara ata kabuza+, abaraguzi+ na bo batahe zirayoye. Emwe, bose bazopfuka ubwanwa bwabo bwo haruguru+, kuko ata nyishu ivuye ku Mana iriho+.’”
8 Ariko jeho, bivuye ku mpwemu ya Yehova, nsigaye nuzuye ububasha n’ubutungane n’ubushobozi+, kugira ngo menyeshe Yakobo umugararizo wiwe na Isirayeli igicumuro ciwe+.
9 Ndabinginze mwumve ibi, yemwe bakuru b’inzu ya Yakobo namwe batware b’inzu ya Isirayeli+, mwebwe abanka urunuka ubutungane mukaba n’abahetarika ikintu cose kigororotse+, 10 mukubakisha Siyoni ugusesa amaraso, Yeruzalemu mukayubakisha ukutagororoka+. 11 Abakuru biwe baca imanza ku giturire+, abaherezi biwe bakigishiriza ingero+, abahanuzi biwe na bo bakaragura ku mahera+; yamara baguma bishimikiza Yehova mu kuvuga bati: “Mbega Yehova ntari hagati muri twebwe+? Ntituzoshikirwa n’ivyago+.” 12 Ni co gituma Siyoni izorimwa nk’umurima kubera mwebwe, Yeruzalemu na yo igacika ibirundo vy’ibihomvagurike+, n’umusozi wa ya nzu ukaba nk’ibibanza bikirurutse vy’ikibira.
4 Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+: umusozi+ w’inzu+ ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi+; kandi ibisata vy’abantu bizorindiga koko bija kuri wo+. 2 Amahanga menshi azogenda koko, avuge ati: “Nimuze+ tuduge ku musozi wa Yehova no ku nzu y’Imana ya Yakobo+; izotwigisha inzira zayo+, natwe tuzogendera mu minyuro yayo+.” Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+. 3 Azoca imanza koko mu bisata vy’abantu vyinshi+, agorore ibintu+ ku bijanye n’amahanga akomeye ya kure+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+. 4 Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+, kandi nta n’umwe azobajugumiza+; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo* kabivuze+.
5 Kuko ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco+; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu+ gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera+.
6 “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “nzokoranya uwacumbagira+; kandi uwari yarashwiragiye nzomwegeraniriza hamwe+, egome, uwo nagiriye nabi. 7 Uwacumbagira nzomugira amasigarira+, n’uwari yarirukaniwe kure ndamugire ihanga rikomeye+; kandi Yehova azobaganza ku musozi Siyoni, guhera ubu gushika igihe kitagira urugero+.
8 “Nawe, ewe munara w’ubusho, kidunduri c’umukobwa wa Siyoni+, izoshika no kuri wewe, egome, ya nganji ya mbere izoza+, bwa bwami bw’umukobwa wa Yeruzalemu+.
9 “Kubera iki none uguma uvuza induru n’ijwi rirenga+? Mbega nta mwami ari muri wewe, canke na ho umujanama wawe yoba yapfuye, ko wafashwe n’ububabare nk’ubw’umugore ariko yibaruka+? 10 Nugire ububabare bukaze kandi uturikishe, ewe mukobwa wa Siyoni, nk’umugore ariko yibaruka+, kuko ubu uzosohoka uvuye mu gisagara, ukaba koko mu gahinga+. Uzoshika i Babiloni ata kabuza+. Aho ni ho uzorokorerwa+. Ni ho Yehova azogucungurira akagukura mu kiganza c’abansi bawe+.
11 “Ubu rero amahanga menshi azokoranywa ata kabuza kugira akurwanye, amwe avuga ngo: ‘Nahumanywe, kandi amaso yacu yitegereze Siyoni+.’ 12 Ariko yo ntiyamenye ivyiyumviro vya Yehova, kandi ntiyategereye inama yiwe+; kuko azoyakoraniriza hamwe koko ku mbuga y’ikubitiro nk’imikama y’ibinyantete ihejeje gutemwa+.
13 “Haguruka ukubite nk’uko bakubita intete, ewe mukobwa wa Siyoni+; kuko ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’ibinono vyawe nkabihindura umujumpu, kandi uzosya koko ibisata vy’abantu vyinshi+; inyungu yabo y’akarenganyo+ uzoyiziririza ibe iyihebewe Yehova, n’amatunga yabo aheberwe Umukama w’ukuri w’isi yose+.”
5 “Ubu urikebagura+, ewe mukobwa atewe; yadusugereje+. Umucamanza wa Isirayeli bazomukubita inkoni kw’itama+.
2 “Nayo wewe, ewe Betelehemu Efurata+, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda+, muri wewe+ hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli+, amamo yiwe akaba ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera*+.
3 “Ni co gituma azobaheba+ gushika aho uwibaruka azokwibarukira koko+. Kandi amasigarira ya bene wabo azogaruka kuri bene Isirayeli.
4 “Emwe, azohagarara aragire umukuku mu nkomezi za Yehova+, mu bukuru bw’izina rya Yehova Imana yiwe+. Bazoguma baba ng’aho+, kuko ico gihe azoba uwuhambaye gushika ku mpera z’isi+. 5 Uwo vy’ukuri azocika amahoro+. Nayo Umwashuri, niyinjira mu gihugu cacu agakandagira ku minara yacu yo kubamwo+, tuzomuhagurukiriza rero abungere indwi, egome, abatware umunani bo mu bantu. 6 Bazoragiza inkota igihugu ca Ashuri+, n’igihugu ca Nimurodi+ mu minjiriro yaco. Azoturokora vy’ukuri adukize Umwashuri+, niyinjira mu gihugu cacu, niyakandagira mu karere kacu.
7 “Amasigarira ya Yakobo+, hagati mu bisata vy’abantu vyinshi azoba nk’ikime kivuye kuri Yehova+, nk’imicuncubuko y’imvura ku bimera+, bititega umuntu canke ngo birindire abana b’umuntu yakuwe mw’ivu+. 8 Kandi amasigarira ya Yakobo, mu mahanga menshi, mu bisata vy’abantu vyinshi, azoba nk’intambwe mu bikoko vyo mu kibira, nk’intambwe y’umukangara y’umugāra mu masho y’intama, iyikandagira ikongera igatabagura iyo irenganye+; kandi nta murokozi aboneka. 9 Ukuboko kwawe kuzoba hejuru cane y’abarwanizi bawe+, kandi abansi bawe bose bazorandurwa+.”
10 “Kuri uwo musi,” ni ko Yehova avuze, “nzorandura amafarasi yawe hagati muri wewe kandi ntikize imikogote yawe+. 11 Nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, nsambure ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome+. 12 Nzorandura ubupfumu ndabukure mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abanyamageza+. 13 Nzorandura muri wewe ibishusho vyawe bibajwe be n’inkingi zawe, kandi ntuzoba ucunamira ivyakozwe n’amaboko yawe+. 14 Nzorandura muri wewe ibikingi vyawe vyeranda+ nongere nzimanganye ibisagara vyawe. 15 Nzokwihora amahanga atagamburutse, nshavuye kandi nshangashiwe+.”
6 Ndabinginze mwumve ivyo Yehova avuga+. Haguruka uburanire imbere y’imisozi, kandi imirambi niyumve ijwi ryawe+. 2 Nimwumve, yemwe misozi, imburano za Yehova, namwe bintu biramba, mwebwe mishinge y’isi+; kuko Yehova afitaniye imburano n’abantu biwe, azoburana na Isirayeli+:
3 “Yemwe bantu banje+, mbega nabakoreye iki? Kandi nabaruhishije gute+? Nimunyagirize+. 4 Kuko nabaduganye ndabakuye mu gihugu ca Misiri+, nkabacungura ndabakuye mu nzu y’abashumba+; maze narungitse imbere yanyu Musa na Aroni na Miriyamu+. 5 Yemwe bantu banje, ndabinginze mwibuke+ umugambi wa Balaki umwami wa Mowabu+ be n’ivyo Balamu mwene Beyori yamwishuye+. Mwibuke ivyabaye kuva i Shitimu+ gushika i Gilugali+, kugira ngo ibikorwa bigororotse vya Yehova bimenyekane+.”
6 Mbega nzorengukana iki+ imbere ya Yehova? Mbega nzokwunamana iki imbere y’Imana yo hejuru+? None nzorengukana imbere yiwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, inyana zimaze umwaka? 7 Mbega Yehova azohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, n’inzuzi z’amavuta ibihumbi mirongo+? Mbega nzotanga umuhungu wanje w’imfura ku bw’umugararizo wanje, icamwa c’inda yanje ku bw’igicumuro canje+? 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?
9 Ijwi rya Yehova rirasemerera ribwira igisagara+, kandi umuntu w’ubukerebutsi ngirakamaro azotinya izina ryawe+. Nimwumve inkoni n’uwayishinze igikorwa+. 10 Mbega mu nzu y’umubisha haracariyo amatunga y’ububisha+, n’ingero ya efa igeruye yiyamirizwa? 11 Mbega noba nera mfise umunzane mubi n’isaho y’amabuye y’ugupimisha ahendana+? 12 Kuko abatunzi biwe basigaye buzuye ubukazi, ababa muri we na bo bakaba bavuze ikinyoma+, kandi ururimi rwabo ni urunyamayeri mu kanwa kabo+.
13 “Nanje rero nzogukubita urware+; uzogirwa umusaka, kubera ibicumuro vyawe+. 14 Uzorya ntuhage, muri wewe hagume hagaragara+. Uzotwara ibintu mugabo ntuzobijana ahatagira inkomanzi; n’ivyo wojanye ahatagira inkomanzi, nzobiha inkota+. 15 Uzobiba imbuto mugabo ntuzoshwabura. Uzoganisha ibirenge imyelayo, mugabo ntuzokwisiga amavuta; uzogana n’umuvinyu usosa, mugabo ntuzonywa umuvinyu+. 16 Ivyagezwe vya Omuri+ n’igikorwa cose c’inzu ya Ahabu birubahirizwa+, kandi mugendera mu nama zabo+; ni co gituma nzobagira akajoreza, ababa muri we na bo nkabagira ikintu co kuvugiriza agahwa+; kandi muzokwikorera iceyi c’ibisata vy’abantu+.”
7 Ndagowe+, kuko nsigaye meze nk’igihe bamaze gusarura ivyamwa vyo mu ci, nk’udutororwa two mw’isarura ry’inzabibu+! Nta musoko w’inzabibu wo kurya uriho, eka nta nsukoni ya kare iriho umutima wanje wokwipfuza+! 2 Intahemuka yazimanganye mw’isi, kandi mu bantu nta wugororotse ariho+. Bose babundira gusesa amaraso+. Umwe wese ahigisha urusenga rw’umukwabu mwene wabo+. 3 Amaboko yabo ari ku kibi, kugira agikore neza+; umuganwa ari n’ico asaba, uwuca urubanza abigira ku bw’impera+, kandi uwuhambaye avuga ivyo umutima wiwe uhahamiye, uwiwe bwite+; ukwo ni ko babijishira hamwe. 4 Uwumeze neza kuruta abandi bose muri bo ameze nk’igihandambwa, uwugororotse kuruta abandi bose muri bo ni mubi kurusha uruzitiro rw’amahwa+. Umusi w’inderetsi zawe, umusi wo kukwitaho, uzoza ata kabuza+. Ubu rero bazozazanirwa+.
5 Ntimwizere umugenzi. Ntimwizigire umugenzi somambike+. Wirinde kwugururira akanwa kawe umugore aryama mu gikiriza cawe+. 6 Kuko umuhungu asuzugura se, umukobwa agakurira hasi nyina+, umukazana agahagurukira inabukwe+; abansi b’umuntu ni abantu bo mu rugo rwiwe+.
7 Jeho, Yehova ni we nzoguma nderetse+. Nzorindira Imana y’ubukiriro bwanje+. Imana yanje izonyumva+.
8 Ntunezerwe ku binyerekeye, ewe mugore uri umwansi wanje+! Naho natemvye, sinzobura guhaguruka+; naho mba mu mwiza+, Yehova azombera umuco+. 9 Nzokwihanganira ubushangashirwe bwa Yehova—kuko namucumuyeko+—gushika yifatiye mu minwe urubanza rwanje, akantunganiriza koko+. Azonsohokana anjane ku muco; nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe+. 10 Umwansi wanje azobibona yicwe n’ibimaramare+, umwe yahora ambwira ngo: “Ari hehe Yehova Imana yawe+?” Amaso yanje azomwitegereza+. Ubu rero azocika ahantu ho guhonyanga, nk’urwondo rwo mu mabarabara+.
11 Umusi wo kwubaka impome z’amabuye zawe, uwo musi ingingo yashinzwe izoba iri kure+. 12 Uwo musi, bazoza gushika kuri wewe bavuye i Ashuri no mu bisagara vya Misiri, kuva mu Misiri gushika no kuri rwa Ruzi+; kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva ku musozi gushika ku wundi+. 13 Emwe, igihugu kizocika igiharabuga kubera abakibamwo, kubera icamwa c’ibikorwa vyabo+.
14 Ragiza abantu bawe ikibando cawe+, ari bo mukuku w’intoranwa yawe, abahora baba mu kibira ari bonyene—hagati mu murima w’ivyamwa+. Nibarishe i Bashani n’i Gileyadi+ nko mu misi ya kera+.
15 “Nzomwereka ibintu vy’agatangaza nko muri ya misi wava mu gihugu ca Misiri+. 16 Amahanga azobibona amaramazwe n’ubushobozi bwabo bwose+. Bazokwifata ku munwa+; amatwi yabo azoziba. 17 Bazorigata umukungugu nk’inzoka+; bazosohoka bavuye mu bibambazi vyabo nk’ibinyogomba vyo kw’isi bahinda agashitsi+. Bazoza kuri Yehova Imana yacu badegedwa, kandi bazogutinya+.”
18 Ni iyihe Mana imeze nkawe+, iharira ikosa ikirengagiza ukugabitanya+ kw’amasigarira y’intoranwa yayo+? Ntuzogumana ishavu ibihe bidahera, kuko uhimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+. 19 Uzokwongera kutugirira imbabazi+; uzotsinda amakosa yacu+. Uzoshiburira ibwina mu kiyaga ibicumuro vyabo vyose+. 20 Uzotanga kwa kuri kwahabwa Yakobo, bwa buntu bwuzuye urukundo bwahabwa Aburahamu, ivyo warahiye ba sogokuruza bacu kuva mu misi ya kera+.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “y’igihe kitagira urugero.”