Yona
1 Ijambo rya Yehova riza kuri Yona+ mwene Amitayi, riti: 2 “Haguruka, uje i Ninewe+ ca gisagara gikomeye, ugitangarize yuko ububi bwabo bwaduze bugashika imbere yanje+.”
3 Maze Yona arahaguruka, ava imbere ya Yehova+ ahungira i Tarushishi+; amaherezo amanuka i Yopa+, abona imeri ija i Tarushishi. Nuko ariha itike, amanuka muri yo kugira ajane n’abari muri yo i Tarushishi ave imbere ya Yehova.
4 Yehova arekurira rero umuyaga ukomeye ku kiyaga+, haba igihuhusi gikomeye+ ku kiyaga; nuko nya meri ihakwa gusāba. 5 Abagendesha nya meri baratinya maze batangura gutabaza, umwe wese atabaza imana yiwe+. Baguma bashiburira mu kiyaga ibintu vyari mu meri, kugira bayiremurure ivyo bintu+. Mugabo Yona yari yamanutse epfo mu gice co hasi ca nya meri ifise idari, araryama, arasinzira ubutikoma+. 6 Vyakabaye kera, umukapitene w’imeri aramwegera, amubwira ati: “Vyakugendeye gute ga wa muntu usinziriye? Haguruka wambaze imana yawe+! Hari aho Imana y’ukuri yotwitaho ntituyogere+.”
7 Maze batangura kubwirana bati: “Nimuze dupfinde ubupfindo+, kugira tumenye uwutumye dushikirwa n’ibi vyago+.” Baguma bapfinda rero ubupfindo, amaherezo ubupfindo bugwa kuri Yona+. 8 Nuko bamubwira bati: “Turakwinginze utubwire: ni nde atumye dushikirwa n’ibi vyago+? Ukora igikorwa nyabaki, kandi uva he? Igihugu cawe ni ikihe, kandi uva mu kihe gisata c’abantu?”
9 Na we ababwira ati: “Ndi Umuheburayo+, nkaba ntinya+ Yehova Imana y’amajuru+, uwashizeho ikiyaga n’isi yumutse+.”
10 Nya bantu baratinya cane, bamubwira bati: “Ivyo wakoze ni ibiki+?” Kuko nya bantu bari bamenye yuko yariko arahunga Yehova, kuko yari yabibabwiye. 11 Amaherezo, bamubwira bati: “Tukugire dute+ ngo ikiyaga gihwame kitureke?” Kuko ikiyaga caguma kirushiriza gusebura. 12 Ababwira rero ati: “Nimunterure munterere mu kiyaga, ikiyaga gica gihwama kibareke; kuko nzi yuko ico gihuhusi gikomeye kibateye kubera jewe+.” 13 Mugabo nya bantu bagerageza kwicira inzira ngo bagarukane nya meri kw’isi yumutse, ariko ntibabishobora, kuko ikiyaga caguma kirushiriza gusebura+.
14 Nuko bambaza Yehova+ bati: “Ewe Yehova, turakwinginze twoye kuyogera tuzira ubuzima bw’uyu muntu! Kandi ntudushireko amaraso y’intungane+, kuko wewe, ewe Yehova, wakoze nk’uko biguhimbara+!” 15 Maze baterura Yona, bamuta mu kiyaga; ikiyaga kibona guturura, uburake bwaco burahwama+. 16 Nya bagabo baca batangura gutinya Yehova cane+, gutyo bashikanira ikimazi Yehova+ bongera bagira indagano+.
17 Maze Yehova arungika urufi runini ngo rumire Yona+, bituma Yona amara imbere muri nya rufi imisi itatu n’amajoro atatu+.
2 Maze Yona asengera Yehova Imana yiwe imbere muri nya rufi+, 2 ati:
“Natakambiye Yehova ndi mu marushwa yanje+, na we aranyishura+.
Natabaje ndi mu nda y’ukuzimu*+.
Warumvise ijwi ryanje+.
3 Igihe wanshiburira ibwina, mu nda y’igezi ry’ikiyaga*+,
Uruzi rwaciye runkikuza.
Imikuba isuriranya yawe n’imipfunda yawe yose yaciye hejuru yanje+.
4 Jeho navuze nti: ‘Narirukanywe mva mu maso yawe+!
Nzokwongera nte kwitegereza urusengero rwawe rweranda+?’
5 Amazi yarankikuje ageramira ubuzima bwanje+; inyenga y’amazi yagumye inzitiye.
Ivyatsi bibi vyari binyizingiriye ku mutwe.
6 Naramanutse mu matanguriro y’imisozi.
Nayo isi, ibihindizo vyayo vyaranyugaranye igihe kitagira urugero*.
Mugabo waradugije ubuzima bwanje ubukura mu cobo, ewe Yehova Mana yanje+!
7 Igihe umutima wanje wadendebukira muri jewe+, Yehova ni we nibutse+.
Maze isengesho ryanje ryaragushikiriye, mu rusengero rwawe rweranda+.
8 Nayo abubaha ibigirwamana vy’ububeshi, baheba ubuntu bwuzuye urukundo bwabo+.
10 Amaherezo Yehova ategeka nya rufi, rudahwa Yona kw’isi yumutse+.
3 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Yona ubugira kabiri+, riti: 2 “Haguruka uje i Ninewe ca gisagara gikomeye, ugitangarize ijambo+ ngira nkubwire.”
3 Yona aca arahaguruka aja i Ninewe, nk’uko ijambo rya Yehova rivuze+. Ico gihe Ninewe cari igisagara gikomeye ku Mana+, kukigenda bikaba vyasaba urugendo rw’imisi itatu. 4 Amaherezo Yona yinjira muri nya gisagara, agenda urugendo rw’umusi umwe, aguma atangaza ati: “Hasigaye imisi mirongo ine gusa Ninewe ikarandurwa+.”
5 Maze abantu b’i Ninewe batangura kwizera Imana+; nuko batangaza ukwisonzesha bongera bambara amagunira*+, kuva ku wuhambaye kuruta abandi muri bo gushika ku mutoyi muri bo. 6 Iryo jambo ngo rishikire umwami wa Ninewe+, aca ahaguruka ku ntebe yiwe y’ubwami, yambura impuzu yiwe y’ibango maze yambara igunira, araheza yicara mu minyota+. 7 Vyongeye, ategeka ko batangaza i Ninewe, nk’uko umwami n’abahambaye biwe bashinze, ngo:
“Ntihagire umuntu canke igitungwa canke ubusho canke umukuku bigira ico bihonja. Ntihagire uwurya imfungurwa. Mbere ntibinywe n’amazi+. 8 Kandi bambare amagunira, umuntu n’igitungwa; nibatakambire Imana bakobeje kandi bahindukire+, umwe wese ahebe inzira yiwe mbi n’ubukazi bwari buri mu maboko yabo. 9 Hari uwubizi? Kumbure Imana y’ukuri yohindukira ikicuza vy’ukuri+, ikareka ishavu ryayo rirurumba, ntituyogere+.”
10 Nuko Imana y’ukuri ibona ibikorwa vyabo+, yuko bari bahindukiye bagaheba inzira yabo mbi+; gutyo Imana y’ukuri iricuza+ ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza+.
4 Ariko ivyo bibabaza cane Yona+, ararungura n’ishavu. 2 Ku bw’ivyo asenga Yehova ati: “Ewe Yehova, none si co cari kindaje ishinga nkiri ku butaka bwacu? Ni co catumye nca mpungira i Tarushishi+; kuko nari nzi ko uri Imana y’inyempuhwe n’inyembabazi+, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo+, yicuza ku bijanye n’ivyago+. 3 None rero, ewe Yehova, ndakwinginze unyake ubuzima+, kuko gupfa bindutiye kubaho+.”
4 Mugabo Yehova avuga ati: “Mbega vyari bikwiriye ko urungura n’ishavu+?”
5 Maze Yona arasohoka ava muri nya gisagara, yicara mu buseruko bwaco; atangura kwiyubakira urusago ng’aho, kugira ngo yicare munsi yarwo mu gitutu+ gushika abonye amaherezo y’ico gisagara+. 6 Nuko Yehova Imana ameza umutanga, kugira uduge hejuru ya Yona umubere igitutu ku mutwe, ngo umworohereze mu vyago yarimwo+. Yona anezerezwa rwose na nya mutanga.
7 Mugabo ku musi ukurikira, Imana y’ukuri irungika urunyo+ umutwenzi utambitse, kugira rurye nya mutanga; amaherezo uruma+. 8 Maze izuba ryatse, Imana irungika kandi umuyaga wo mu buseruko uturira+; izuba riguma rinaga Yona mu mutwe, bituma amera nk’uwugira arabe+; aguma yisabira gupfa, akaguma avuga ati: “Gupfa vyondutira kubaho+.”
9 Maze Imana ibwira Yona iti: “Mbega vyari bikwiriye ko urungura n’ishavu ku bw’uwo mutanga+?”
Na we avuga ati: “Vyari bikwiriye ko ndungura n’ishavu, ku buryo nipfuza gupfa.” 10 Ariko Yehova avuga ati: “Wewe wumviye akagongwe umutanga utacumukuriye canke ngo ukuze, uwameze ijoro rimwe ukuma ijoro rimwe. 11 None jeho sinari nkwiye kwumvira akagongwe Ninewe ico gisagara gikomeye+ kirimwo abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri batazi gutandukanya ukuryo n’ukubamfu, udashizemwo ibitungwa vyinshi+?”
Mu giheburayo ni “Sheoli” (sheʹohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Ijambo ku rindi ni “mu mutima w’igezi ry’ikiyaga.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.