2 Samweli
6 Dawidi yongera gukoranya abagabo b’abahizi bose bo muri Isirayeli+, baba ibihumbi mirongo itatu. 2 Maze Dawidi n’abantu bose bari kumwe na we barahaguruka, baja i Bayale-yuda+ kudugana isandugu+ y’Imana y’ukuri bayikuye ng’aho, iyitirirwa izina ryiwe, izina+ rya Yehova nyen’ingabo*+, uwicaye ku bakerubi*+. 3 Ariko buriza isandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+, kugira bayitware bayikuye mu nzu ya Abinadabu+ yari ku murambi; Uza na Ahiyo+, bene Abinadabu, bari bayoboye uwo mukogote mushasha.
4 Bayitwara rero bayikuye mu nzu ya Abinadabu yari ku murambi . . . kumwe n’isandugu y’Imana y’ukuri; Ahiyo yagendera imbere y’iyo Sandugu. 5 Dawidi n’inzu ya Isirayeli yose bariko bahimbaza ico kintu imbere ya Yehova n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho vyo mu giti c’umuberoshi, n’inanga+, n’ibicurarangisho vy’imirya+, n’utugoma+, n’amapendo* be n’ivyuma bisāma+. 6 Amaherezo bashika ku mbuga y’ikubitiro ya Nakoni, maze Uza+ atuma ukuboko kw’isandugu y’Imana y’ukuri arayifata+, kuko inka zari zihatswe kuyitembagaza. 7 Ishavu rya Yehova+ rica rirurumbira Uza maze Imana y’ukuri imugarika+ ng’aho kubera ico gikorwa c’ukudatinya Imana, aca apfira ng’aho hafi y’isandugu y’Imana y’ukuri+. 8 Maze Dawidi ashavuzwa n’uko Yehova yari arandamuye* Uza; aho hantu rero bahita Perezi-uza gushika n’uyu musi+. 9 Nuko uwo musi Dawidi atinya Yehova+, avuga ati: “Isandugu ya Yehova izoza iwanje gute+?” 10 Nuko Dawidi ntiyashaka kwimurira isandugu ya Yehova iwe mu Gisagara ca Dawidi+. Dawidi ayikebereza rero mu nzu ya Obedi-edomu+ Umugiti+.
11 Iyo sandugu ya Yehova ibandanya kuba mu nzu ya Obedi-edomu Umugiti amezi atatu; kandi Yehova yaguma ahezagira+ Obedi-edomu n’urugo rwiwe rwose+. 12 Amaherezo Umwami Dawidi amenyeshwa ngo: “Yehova yarahezagiye inzu ya Obedi-edomu n’ivyiwe vyose kubera isandugu y’Imana y’ukuri.” Dawidi aca aragenda, akura isandugu y’Imana y’ukuri mu nzu ya Obedi-edomu, ayidugana mu Gisagara ca Dawidi anezerewe+. 13 Abari bateruye+ isandugu ya Yehova bamaze kugenda intambuko zitandatu, aca ashikana ikimazi c’ishūri n’igitungwa kikiri gito kinuze+.
14 Dawidi yariko atamba yizunguriza n’inkomezi ziwe zose imbere ya Yehova, ico gihe akaba yari akenyeye efodi+ y’ilino. 15 Kandi Dawidi n’inzu ya Isirayeli yose bariko badugana isandugu+ ya Yehova bavuza akaruru k’umunezero+ n’ijwi ry’inzamba+. 16 Isandugu ya Yehova ishitse mu Gisagara ca Dawidi, Mikali+ umukobwa wa Sauli araba hasi acishije mw’idirisha maze abona Umwami Dawidi asimbasimba yongera atamba yizunguriza imbere ya Yehova; nuko atangura kumusuzugurira+ mu mutima+. 17 Binjiza rero isandugu ya Yehova, bayishira mu kibanza cayo mw’ihema Dawidi yari yarayishingiye+; hanyuma Dawidi ashikana imbere ya Yehova ibimazi biturirwa+ n’ibimazi vy’ugusangira+. 18 Dawidi arangije gushikana nya bimazi biturirwa na nya bimazi vy’ugusangira, aca ahezagira+ abantu mw’izina rya Yehova+ nyen’ingabo. 19 Vyongeye, agabanganiriza+ ibifungurwa abantu bose, isinzi ryose rya Isirayeli, umugabo n’umugore, umwe wese amuha agatsima k’umukate kameze nk’ikigōmbo n’agatsima ko mu ngazi z’itende n’agatsima k’inzabibu zumye+, hanyuma abantu bose baragenda, umwe wese ku nzu yiwe.
20 Nuko Dawidi asubira inyuma guhezagira urugo rwiwe+; maze Mikali+ umukobwa wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi hanyuma avuga ati: “Ese ukuntu umwami wa Isirayeli yigize uwuninahaye uno musi+ igihe yikurako agashambara uno musi mu maso y’abashumbakazi b’abasuku biwe, nk’uko umwe mu bagabo b’ibijuju yikurako agashambara agasigara ari amenya+!” 21 Dawidi aca abwira Mikali ati: “Nariko nigina imbere ya Yehova, we yantoye aho gutora so n’urugo rwiwe rwose, kugira anshireho+ ngo mbe indongozi y’abantu ba Yehova ari bo Isirayeli, kandi nzohimbaza ico kintu imbere ya Yehova+. 22 Nzorushiriza mbere kwigira uwukengeretse kuruta aho+, kandi nzocika uwo hasi mu maso yanje; nayo abashumbakazi wavuze, niyemeje kwininahaza kuri bo+.” 23 Nuko Mikali+ umukobwa wa Sauli arinda apfa ataronse akana.