UMUSIGUZI
1 Amajambo y’uwukoranya abantu*+, mwene Dawidi, umwami w’i Yeruzalemu+.
5 Izuba riraseruka* hanyuma rikarenga.
Rica ryihuta rigasubira* mu kibanza riserukiramwo kugira ryongere guseruka+.
6 Umuyaga uraja mu bumanuko, ugaca uzunguruka ukaja mu buraruko.
Uguma uzunguruka wisubiriza. Umuyaga uguma uzunguruka.
7 Inzuzi* zose zitembera mu kiyaga, ariko ikiyaga nticuzura+.
Ahantu zitemba ziva ni ho zisubira kugira zongere gutemba+.
8 Ibintu vyose biraruhisha.
Nta n’uwobidondagura ngo abiheze.
Ijisho ntirihaga kubona,
n’ugutwi ntiguhaga kwumva.
9 Icabayeho ni co kizosubira kubaho,
kandi icakozwe ni co kizosubira gukorwa.
Nta gishasha kiriho munsi y’izuba+.
10 Hoba hariho ikintu na kimwe umuntu yovuga ngo: «Raba, iki ni gishasha»?
Oya, kiba caramaze kubaho kuva kera,
kiba caramaze kubaho imbere y’igihe cacu.
11 Nta muntu n’umwe yibuka aba kera,
kandi nta n’uwuzokwibuka abazoza mu nyuma.
Kandi n’abo bazoza mu nyuma, ntibazokwibukwa n’abazobakurikira+.
12 Jewe uwukoranya abantu, narabaye umwami wa Isirayeli i Yeruzalemu+. 13 Nariyemeje kwiga no gusuzuma ibintu vyose bikorerwa munsi y’ijuru nkoresheje ubwenge*+, ni ukuvuga igikorwa kigoye Imana yahaye abana b’abantu ngo kibafatire.
14 Naritegereje ibikorwa vyose bikorerwa munsi y’izuba,
nsanga vyose ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga+.
15 Ikigoramye ntigishobora kugororwa,
kandi ibitariho ntibishobora guharurwa.
16 Naciye nibwira mu mutima nti: «Ehe nararonse ubukerebutsi bwinshi, kuruta abantu bose babayeho imbere yanje i Yeruzalemu+, kandi umutima wanje wararonse ubukerebutsi bwinshi n’ubumenyi bwinshi+.» 17 Narashize umutima ku kumenya ubukerebutsi, ubusazi* n’ubujuju+, na vyo nyene nsanga ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
18 Kuko kugira ubukerebutsi bwinshi bituma umuntu agira intuntu nyinshi,
ku buryo uwongereje ubumenyi aba yongereje n’imibabaro+.
2 Naciye nibwira mu mutima nti: «Ingo ugerageze ibinezereza*, urabe iciza kirimwo.» Ariko n’ivyo nyene nasanze ari ubusa.
2 Ku vyerekeye agatwengo, navuze nti: «Ni ubusazi!»,
ku binezereza* na ho mvuga nti: «Bimaze iki?»
3 Nararondeye kumenya iciza kiri mu kunywa inzoga+, ariko ntarinze gutakaza ubwenge* bwanje. Naracokeye no mu bintu vy’ubupfu, kugira menye iciza abantu bokora mu misi mikeyi babaho munsi y’ijuru. 4 Narakoze ibikorwa bikomakomeye+. Nariyubakiye amazu+ nongera ndatera imirima y’imizabibu+. 5 Naratunganije imirima n’amatongo, ndabiteramwo ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwose. 6 Naritunganirije ibidengeri vy’amazi vyo kuvomera igitara* c’ibiti bikiri bito. 7 Nararonse abasuku n’abasukukazi+, ngira n’abasuku bavukiye mu rugo rwanje*. Nararonse kandi ibitungwa vyinshi, inka, intama n’impene+, kuruta ababayeho imbere yanje bose i Yeruzalemu. 8 Narirundanirije ifeza n’inzahabu+, amatungo y’abami n’intara*+. Narirondereye abaririmvyi b’abagabo n’abagore hamwe n’ikintu gihimbara cane abana b’abantu, ni ukuvuga umugore, mbere abagore benshi. 9 Narabaye uwuhambaye, ndaruta ababayeho bose imbere yanje i Yeruzalemu+, kandi ubwenge* bwanje narabugumanye.
10 Sinigeze niyima ikintu na kimwe nipfuza*+. Nta kinezereza* na kimwe nimye umutima wanje, kuko wari uhimbawe n’igikorwa kitoroshe cose nakoze, kandi iyo yari impembo* y’igikorwa kitoroshe cose nakoze+. 11 Ariko nzirikanye ibikorwa vyose nakoze n’igikorwa cose kitoroshe nabiriye akuya+, nasanze vyose ari ubusa, ari ukwiruka inyuma y’umuyaga+. Nta kintu na kimwe cari gifise agaciro nyako* munsi y’izuba+.
12 Naciye mpindukira nshira umutima ku bukerebutsi, ku busazi no ku bujuju+. (None umuntu azoza inyuma y’umwami azokora iki? Nta kindi atari ivyamaze gukorwa.) 13 Kandi nasanze ubukerebutsi buri n’akarusho kuruta ubujuju+, nk’uko umuco uri n’akarusho kuruta umwiza.
14 Amaso y’umuntu w’inkerebutsi arabona*+, ariko ikijuju kigendera mu mwiza+. Narabonye kandi ko bose bafise iherezo rimwe+. 15 Naciye nibwira mu mutima nti: «Ibishikira ikijuju na jewe ni vyo bizonshikira+.» None kugira ubukerebutsi burenze vyamariye iki? Maze nibwira mu mutima nti: «Ivyo na vyo nyene ni ubusa.» 16 Kuko umuntu w’inkerebutsi atamara igihe kirekire yibukwa kuruta ikijuju+. Mu misi iri imbere, bose bazoba bibagiwe. None umuntu w’inkerebutsi apfa gute? Apfa cokimwe n’ikijuju+.
17 Naciye nanka ubuzima+, kuko nabona ko ibikorerwa munsi y’izuba vyose bitera umubabaro. Vyose vyari ubusa+ no kwiruka inyuma y’umuyaga+. 18 Naciye nanka ibikorwa vyose nabiriye akuya munsi y’izuba+, kuko nobwirijwe kubisigira uwuzoza inyuma yanje+. 19 None ni nde yomenya ko azoba ari umunyabwenge* canke ikijuju+? Ariko azoganza ibintu vyose nabiriye akuya kandi ngakoresha n’ubwenge bwinshi kugira ndabironke munsi y’izuba. Ivyo na vyo nyene ni ubusa. 20 Naciye ntangura kwihebura mu mutima kubera ibikorwa vyose bitoroshe nabiriye akuya munsi y’izuba. 21 Kuko umuntu ashobora gukora cane, agakoresha ubukerebutsi, ubumenyi n’ubuhanga, ariko vyose* akabwirizwa kubisigira umuntu atabikoreye+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi birababaje cane*.
22 None umuntu yunguka iki vy’ukuri mu gikorwa cose kitoroshe akora no mu myitwarariko* ituma akora cane munsi y’izuba+? 23 Kuko ivyo akora bimuzanira intuntu n’umubabaro imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kandi no mw’ijoro umutima wiwe nturuhuka+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.
24 Nta kintu ciza ku muntu kiruta kurya, kunywa no guhimbarirwa ivyo yabiriye akuya+. Ivyo na vyo nyene nariboneye ko biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri+. 25 None ni nde arya neza kandi akanywa neza kundusha+?
26 Kuko Imana y’ukuri iha ubukerebutsi, ubumenyi n’umunezero umuntu ayihimbara+, ariko umucumuzi imuha igikorwa co kwegeranya ibintu no kubirunda kugira bihabwe umuntu ahimbara Imana y’ukuri+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
3 Ikintu cose kirafise umwanya waco.
Igikorwa cose kirafise igihe caco munsi y’ijuru:
2 Igihe co kuvuka n’igihe co gupfa,
igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe,
3 igihe co kwica n’igihe co gukiza,
igihe co kubomora n’igihe co kwubaka,
4 igihe co kurira n’igihe co gutwenga,
igihe co kuboroga n’igihe co gutamba*,
5 igihe co guta amabuye n’igihe co kuyegeranya,
igihe co kugwana mu nda n’igihe co kutagwana mu nda,
6 igihe co kurondera ikintu n’igihe co gufata ko catakaye,
igihe co kugumya ikintu n’igihe co kugita,
7 igihe co gutabura+ n’igihe co gushona,
igihe co kunuma+ n’igihe co kuvuga+,
8 igihe co gukunda n’igihe co kwanka+,
igihe c’intambara n’igihe c’amahoro.
9 None umukozi yunguka iki mu twigoro twose agira+? 10 Nariboneye igikorwa Imana yahaye abana b’abantu ngo kibafatire. 11 Ikintu cose yakigize ciza* mu gihe caco+. Mbere yashize ibihe bidahera mu mitima y’abantu, ariko ntibazokwigera batahura ibikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva mu ntango gushika kw’iherezo.
12 Nasanze ata kintu cobabera ciza kuruta kunezerwa no gukora ivyiza mu buzima+, 13 kandi umuntu wese akwiye kurya, akanywa kandi agahimbarirwa ibikorwa vyiwe vyose yabiriye akuya. Iyo ni ingabire y’Imana+.
14 Naratahuye ko ivyo Imana y’ukuri ikora vyose bizokwamaho ibihe bidahera. Nta na kimwe umuntu yokwongerako canke ngo akureko. Imana y’ukuri yabikoze gutyo kugira abantu bayitinye+.
15 Ikiba cose kiba caramaze kuba, kandi ikizoba kiba caramaze kubaho+. Ariko Imana y’ukuri irondera ivyo abantu bakurikiranye*.
16 N’ibi narabibonye munsi y’izuba: mu kibanza c’ubutungane hari ububisha, no mu kibanza c’ubugororotsi hari ububisha nyene+. 17 Naciye nibwira mu mutima nti: «Imana y’ukuri izocira urubanza umugororotsi n’umubisha+, kuko ikintu cose n’igikorwa cose gifise umwanya waco.»
18 Nibwiye kandi mu mutima yuko Imana y’ukuri izogerageza abana b’abantu, ikabereka ko bameze nk’ibikoko, 19 kuko hari iherezo ku bantu no ku bikoko. Vyose bifise iherezo rimwe+. Uko kimwe gipfa ni ko n’ikindi gipfa, kandi vyose bifise impwemu imwe+. Umuntu rero nta co arushije ibikoko, kuko vyose ari ubusa. 20 Vyose bija hamwe+. Vyose biva mu mukungugu+, kandi vyose bisubira mu mukungugu+. 21 Ni nde yomenya vy’ukuri ko impwemu y’abantu iduga hejuru, canke ko impwemu y’ibikoko imanuka mu kuzimu+? 22 Narabonye kandi ko umuntu ata comubera ciza kuruta kunezerererwa igikorwa ciwe+, kuko ari yo mpembo* yiwe. None ni nde yotuma ashobora kubona ibizoba amaze gupfa+?
4 Narongeye kwitegereza agahahazo kose gakorerwa munsi y’izuba, maze mbona amosozi y’abahahazwa, kandi nta wubahoza bari bafise+. Ababahahaza bari bafise ububasha, ariko bobo nta wubahoza bari bafise. 2 Naciye nkeza abapfuye aho gukeza abakiri bazima+. 3 Ariko uwutaravuka arabaruta+ bompi, kuko atarigera abona ibikorwa bibabaje bikorerwa munsi y’izuba+.
4 Narabonye kandi utwigoro twose* n’ibikorwa vy’ubuhanga abantu bakora babitumwe n’uguhiganwa+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
5 Ikijuju kirazinga amaboko ntigikore maze umubiri waco ukaguma ugihererako*+.
6 Urushi rumwe ruri kumwe n’akaruhuko, ruruta amashi abiri ari kumwe n’uburuhe no kwiruka inyuma y’umuyaga+.
7 Vyongeye, narazirikanye ku kandi karorero k’ikintu c’impfagusa kiri munsi y’izuba: 8 hari umuntu usanga ari inyakamwe, atagira n’umugenzi. Nta mwana afise canke mwenewabo, ariko akaguma akora cane adaheza. Ntiyigera ahaga* ubutunzi+. Ariko yoba yigera yibaza ati: «Ndiko nduhira nde canke ndiko niyima ivyiza ku bwa nde+?» Ivyo na vyo nyene ni ubusa, kandi ni igikorwa giteye agahinda+.
9 Babiri baruta umwe+ kuko baronka impembo nziza* ku bw’igikorwa cabo kitoroshe. 10 Kuko umwe muri bo aguye, uwundi ashobora kumuvyura. Ariko vyogendera gute uwuguye adafise uwumuvyura?
11 Vyongeye, iyo babiri baryamanye, baguma basusurutse. Ariko uwuri wenyene yoguma asusurutse gute? 12 Umuntu yoshobora kunesha umwe, ariko babiri bari kumwe boshobora kumunanira. Kandi igitsibo kigizwe n’imigozi itatu ntigicika ningoga*.
13 Umwana akenye ariko aciye ubwenge* aruta umwami ashaje ariko w’ikijuju+, adatahura ko agikeneye guhanurwa*+. 14 Kuko yavuye* mw’ibohero kugira abe umwami+, naho yari yavutse ari umukene ku ngoma y’uwo mwami+. 15 Narihweje abazima bose bagendera munsi y’izuba, n’ingene bigendera wa mwami akiri muto yamusubirira ku ngoma. 16 Naho abamushigikiye ari benshi cane, abazoza mu nyuma ntibazomushima+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
5 Wiyubare igihe cose ugiye mu nzu y’Imana y’ukuri+. Wopfuma ujayo kugira wumvirize+, hako ujayo kugira utange ibimazi nk’uko ibijuju bigira+, kuko bitamenya ko ivyo biriko birakora ari bibi.
2 Ntiwihutagize kuvuga kandi ntureke ngo umutima wawe uvugire imbere y’Imana y’ukuri utabanje kwiyumvira+, kuko Imana y’ukuri iri mw’ijuru mugabo wewe ukaba uri kw’isi. Ni co gituma ukwiye kuvuga make+. 3 Kuko imyitwarariko irenze ituma umuntu arota+, kandi amajambo arenze ni yo atuma ikijuju kivuga+. 4 Igihe cose usezeraniye Imana ikintu, ntutebe kugishitsa+ kuko idahimbarwa n’ibijuju+. Nushitse ico wasezeranye+. 5 Wopfuma ureka gusezerana, hako usezerana ntushitse+. 6 Ntureke ngo akanwa kawe kagucumuze*+, kandi ntuvugire imbere y’umumarayika* ko wari wihenze+. Kubera iki wotuma Imana y’ukuri ishavuzwa n’ivyo wavuze, bigatuma isambura igikorwa c’amaboko yawe+? 7 Kurya imyitwarariko myinshi ituma umuntu arota+, ni ko n’amajambo menshi avamwo ibitagira akamaro. Ahubwo tinya Imana y’ukuri+.
8 Niwabona umukene ariko aracinyizwa mu karere ubamwo, ubutungane n’ubugororotsi bigahonyangwa, ntibize bikubabaze+. Kuko umutegetsi wese aba afise uwumurusha ubukuru amwitegereza, kandi abo bose haba hariho abandi babasumvya ubukuru.
9 Vyongeye, bose bagabura ibiva mw’isi, mbere n’umwami agaburirwa ibiva mu murima+.
10 Uwukunda amahera ntazopfa ayahaze, kandi n’uwukunda ubutunzi ntazokwigera ahaga inyungu+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa+.
11 Iyo ivyiza bigwiriye, n’ababirya baragwira+. None nyenevyo yunguka iki atari ukubirabisha amaso gusa+?
12 Agatiro k’umukozi kararyoshe, yaba afise* bike canke vyinshi. Ariko umurengera w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro.
13 Hari ikintu kibabaje cane* nabonye munsi y’izuba: umuntu aregeranya ubutunzi ariko akaba ari bwo bumukwegera akarambaraye. 14 Ubwo butunzi burahomba kubera umugambi* utagenze neza, mu nyuma akavyara umwana ata co agisigaranye+.
15 Nk’uko umuntu yavuye mu nda ya nyina ari gusa, azogenda ari gusa nk’uko yaje+. Nta na kimwe azogenda atwaye mu bintu vyose yabiriye akuya+.
16 Iki kintu na co nyene kirababaje cane*: azogenda nk’uko yaje. None umuntu yunguka iki mu kuguma akora cane akorera umuyaga+? 17 Kandi imisi yose yama afungurira mu mwiza, afise intuntu nyinshi, arwaye kandi ashavuye+.
18 Iki ni co nabonye ko ari ciza kandi kibereye: ni uko umuntu yorya, akanywa kandi agahimbarwa n’ibikorwa vyose+ yabiriye akuya munsi y’izuba mu misi mikeyi y’ubuzima Imana y’ukuri yamuhaye, kuko iyo ari yo mpembo* yiwe+. 19 Vyongeye, iyo Imana y’ukuri ihaye umuntu ubutunzi n’ayandi matungo+, ikamuha n’ubushobozi bwo kubinezerererwa, akwiye gutora impembo* yiwe kandi akanezerererwa igikorwa ciwe kitoroshe. Iyo ni ingabire y’Imana+. 20 Imisi y’ubuzima bwiwe izorengana ntanabibone*, kuko Imana y’ukuri yujuje umunezero umutima wiwe+.
6 Hariho ikindi kintu kibabaje* nabonye munsi y’izuba, kandi kirakunze gushikira abantu: 2 Imana y’ukuri iraha umuntu ubutunzi, amatungo n’ubuninahazwa, ku buryo ata kintu na kimwe yipfuza ngo akibure. Ariko Imana y’ukuri ntimwemerera kubirya, bikaribwa n’umunyamahanga. Ivyo ni ubusa kandi birababaje cane. 3 Naho umuntu yovyara incuro ijana, akabaho imyaka myinshi kandi agashikira ubusaza, ariko ntahimbarirwe ivyiza vyiwe imbere y’uko aja mu kuzimu*, novuga ko arutwa n’umwana yavutse yapfuye+. 4 Kuko uwo mwana aba yavukiye ubusa, agaca aja mu mwiza maze izina ryiwe rigapfukwa n’umwiza. 5 Naho atigeze abona izuba canke ngo amenye ikintu na kimwe, aguma aruta urya muntu wa mbere*+. 6 None bimaze iki kubaho imyaka ibihumbi bibiri ariko ata munezero ufise? None bose ntibaja ahantu hamwe+?
7 Abantu barakora cane kugira buzuze akanwa kabo+, ariko ntibigera bahaga. 8 None umunyabwenge arusha iki ikijuju+? Canke umukene bimumarira iki kumenya uburyo bwo kubaho*? 9 Guhimbarirwa ivyo ubona biruta kwipfuza ivyo utari buronke. Ivyo na vyo nyene ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
10 Icabayeho cose kiramaze kuronka izina, kandi ico umuntu ari kirazwi. Ntashobora guharira* n’uwumurusha ububasha. 11 Uko amajambo* aba menshi, ni ko arushiriza kutagira akamaro. None amarira iki umuntu? 12 Ni nde azi ikintu ciza umuntu yokora mu misi mikeyi y’ubuzima bwiwe ata co bumaze, irengana nk’igitutu+? Ni nde yomubwira ibizoba munsi y’izuba amaze gupfa?
7 Izina ryiza* riraruta amavuta meza+, kandi umusi wo gupfa uraruta umusi wo kuvuka. 2 Wopfuma uja mu nzu irimwo ikigandaro hako uja mu nzu irimwo umusi mukuru+, kuko iryo ari ryo herezo ry’abantu bose. Kandi abakiriho bose bakwiye kuvyamiza ku mutima. 3 Intuntu iraruta agatwengo+, kuko umubabaro* utyorora umutima+. 4 Umutima w’abanyabwenge* uri mu nzu irimwo ikigandaro, ariko umutima w’ibijuju uri mu nzu irimwo umunezero+.
5 Wopfuma wumviriza umunyabwenge ariko aragukosora+ hako wumviriza indirimbo y’ibijuju. 6 Kuko agatwengo k’ikijuju kameze nk’urwamo rw’amahwa ariko araka munsi y’inkono+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa. 7 Ariko agahahazo karashobora gutuma umunyabwenge acika umusazi, kandi igiturire kironona umutima+.
8 Iherezo ry’ikintu riruta intango yaco. Wopfuma wihangana hako ugira umutima wibona+. 9 Ntiwihutire gushavura*+, kuko ibijuju ari vyo bikaza ishavu*+.
10 Ntuvuge ngo: «Kubera iki imisi ya kera yari myiza kuruta iyi?», kuko ico kibazo kitarimwo ubwenge+.
11 Ubukerebutsi ni bwiza iyo buri kumwe n’intoranwa, kandi ni akarusho ku bakiri bazima*. 12 Kuko ubukerebutsi bukingira+ umuntu nk’uko amahera amukingira+, ariko akarusho k’ubumenyi ni aka: ubukerebutsi burazigama ubuzima bw’ababufise+.
13 Nuzirikane igikorwa c’Imana y’ukuri. None ni nde yoshobora kugorora ico yagoramitse+? 14 Ku musi mwiza nawe nube umuntu mwiza+, ku musi mubi* na ho wibuke ko Imana ari yo yashizeho iyo misi yose+, kugira abantu ntibashobore kumenya neza* ico kazoza kababikiye+.
15 Mu buzima bwanje ata co bumaze+ nta co ntabonye: narabonye umugororotsi apfira mu bugororotsi bwiwe+, ndabona n’umubisha aramba naho akora ibibi+.
16 Ntube umugororotsi birenze+ canke ngo wigire umunyabwenge birenze+. Kubera iki wokwikwegera guhona+? 17 Ntube umubisha birenze canke ngo ube ikijuju+. Kubera iki wopfa igihe cawe kitaragera+? 18 Ni vyiza rero kwumvira iyo mburi ya mbere ariko utirengagije n’iyo yindi+, kuko uwutinya Imana azumvira zose.
19 Ubukerebutsi butuma umunyabwenge arusha ububasha abagabo cumi b’abanyenkomezi bo mu gisagara+. 20 Kuko ata muntu w’umugororotsi ariho kw’isi yama akora ivyiza ntiyigere acumura+.
21 Vyongeye, ntushire umutima ku majambo yose abantu bavuga+. Ahandiho wohava wumva umusuku wawe ariko arakuvuma*. 22 Kuko uzi neza mu mutima wawe yuko na wewe wavumye abandi incuro nyinshi+.
23 Ivyo vyose narabisuzumye nkoresheje ubwenge*, maze mvuga nti: «Nzoba umunyabwenge.» Mugabo vyarananiye. 24 Ivyabayeho biraturengeye kandi birimbitse cane. Ni nde yobitahura+? 25 Narafashe ingingo yo kumenya, gusuzuma no kurondera ubukerebutsi hamwe n’igituma ibintu biri uko biri. Nararondeye kandi gutahura ikibi kiri mu bikorwa vy’ubujuju be n’ubupfu buri mu bikorwa vy’ubusazi+. 26 Nahavuye ntahura iki kintu: umugore ameze nk’umutego w’umuhigi ni mubi kurusha urupfu. Umutima wiwe umeze nk’insenga z’umukwabu, amaboko yiwe na yo ameze nk’iminyororo babohesha imbohe. Uwuhimbara Imana y’ukuri aramuhunga+, ariko umucumuzi agwa mu vyara vyiwe+.
27 Uwukoranya abantu+ yavuze ati: «Ng’ibi rero ivyo nashitseko igihe nasuzuma ikintu kimwekimwe cose kugira ngire ico nshitseko, 28 naho ico nagumye ndondera ata co naronse. Nabonye umugabo umwe agororotse mu bantu igihumbi, ariko nta mugore n’umwe nabonye. 29 Iki conyene ni co nashitseko: Imana y’ukuri yaremye abantu bagororotse+, ariko bobo bikurikiraniye imigambi yabo+.»
8 Ni nde yogereranywa n’inkerebutsi? Ni nde azi inyishu y’ibibazo vyose*? Ubukerebutsi bw’umuntu butuma mu maso hiwe haba ahakeye, kandi buragabanya umujinya yari afise.
2 Ico mvuga ni iki: «Gamburuka amategeko y’umwami+ kubera ivyo warahiye Imana+. 3 Ntiwihutire kuva imbere yiwe+. Ntushigikire ikibi na kimwe+, kuko ashobora gukora ico ashatse cose, 4 kandi ijambo ry’umwami ni ntaharirizwa+. Ni nde none yomubaza ngo: “Uriko ukora iki?”»
5 Uwubahiriza amabwirizwa ntazoshikirwa n’ingorane+, kandi umutima w’umunyabwenge uramenya umwanya ubereye wo gukora ikintu n’uburyo bwo kugikora*+. 6 Ikintu cose kirafise umwanya waco n’ingene gikorwa+, kubera ko ingorane zihanze abantu ari nyinshi cane. 7 Ko ata n’umwe azi ibizoba, none ni nde yovuga ingene bizogenda?
8 Kurya nyene ata wufise ububasha ku mpwemu* canke ngo ashobore kuyitangira, ni na ko ata wufise ububasha ku musi w’urupfu+. Kurya nyene ata wurekurwa ngo ave ku rugamba mu gihe c’intambara, ni ko n’ububisha butazorekura ababukora*.
9 Ivyo vyose narabibonye, kandi narihweje ibikorwa vyose bikorerwa munsi y’izuba, mu gihe umuntu aganza uwundi mu kumugirira nabi+. 10 Kandi narabonye ababisha bahambwa, abahora binjira bongera basohoka mu kibanza ceranda, ariko bagaca bibagirwa ningoga mu gisagara bahora bakoreramwo ayo mabi+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.
11 Kubera ko urubanza rwaciriwe inkozi y’ikibi rutashizwe mu ngiro ningoga+, abantu ntibagitinya gukora ikibi+. 12 Naho umucumuzi yokora ikibi incuro ijana kandi akaramba, ndazi ko bizogendera neza abatinya Imana y’ukuri, kuko bayitinya+. 13 Ariko umubisha ntibizomugendera neza+. Imisi yiwe imeze nk’igitutu+, ntizokwongerekana kuko adatinya Imana.
14 Hari ikintu kibabaje* kiba kw’isi: hari abagororotsi bafatwa nk’inkozi z’ikibi+, hakaba n’inkozi z’ikibi zifatwa nk’abagororotsi+. Ivyo na vyo nyene novuga ko ari ubusa.
15 Naciye ndemesha abantu kunezerwa+, kuko munsi y’izuba ata coza kirutira umuntu kurya, kunywa no kunezerwa. Ivyo ni vyo bikwiye kumuherekeza mu gikorwa kitoroshe arangura mu misi y’ubuzima bwiwe+, iyo Imana y’ukuri yamuhaye munsi y’izuba.
16 Nariyemeje kurondera ubukerebutsi no kwihweza ibikorwa vyose bikorerwa kw’isi+, mbere nkiyima n’agatiro ku murango no mw’ijoro*. 17 Narihweje ibikorwa vyose Imana y’ukuri yakoze, nsanga abantu ntibashobora gutahura ibibera munsi y’izuba+. Naho bogerageza gute, ntibashobora kubitahura. Naho bokwibwira ko bafise ubwenge buhagije kugira babimenye, ntibashobora kubitahura vy’ukuri+.
9 Narashize ku mutima ibi bintu vyose, maze nshika ku ciyumviro c’uko umugororotsi, incabwenge n’ibikorwa vyabo biri mu maboko y’Imana y’ukuri+. Abantu ntibazi urukundo rwose n’urwanko rwose ababayeho imbere yabo bagaragaje. 2 Umugororotsi n’umubisha+, umuntu mwiza, uwudahumanye n’uwuhumanye, abatanga ibimazi n’abatabitanga, bose bafise iherezo rimwe+. Umuntu mwiza ni cokimwe n’umucumuzi, kandi uwurahira ni cokimwe n’uwutinya kurahira. 3 Hari ikintu kibabaje kiba munsi y’izuba: kubera yuko abantu bose bafise iherezo rimwe+, ni co gituma imitima yabo yuzuyemwo ibibi. Imitima yabo irangwa n’ubusazi igihe bakiriho, mu nyuma bagapfa*.
4 Uwukiriho wese arafise icizigiro, kuko imbwa ikiri nzima iruta intambwe ipfuye+. 5 Kuko abazima bazi ko bazopfa+, ariko abapfuye nta na kimwe bazi+, kandi nta n’impembo* baba bakironka, kuko ivyabo vyose biba vyaramaze kwibagirwa+. 6 Vyongeye, urukundo rwabo, urwanko rwabo n’ishari ryabo biba vyaramaze guhera, kandi nta na kimwe baba bagishoboye gukora mu bintu bikorerwa munsi y’izuba+.
7 Genda wirire ibifungurwa vyawe unezerewe, unywe umuvinyu wawe uhimbawe+, kuko Imana y’ukuri yamaze gushima ibikorwa vyawe+. 8 Ese impuzu zawe zokwama zera*, kandi ukama wisiga amavuta mu mutwe+! 9 Nuhimbarirwe ubuzima uri kumwe n’umugore wawe ukunda+ imisi yose y’ubuzima bwawe ata co bumaze, ubwo Imana yaguhaye munsi y’izuba, mu misi yawe yose ata co imaze, kuko uwo ari wo mugabane wawe mu buzima n’impembo y’igikorwa kitoroshe urangura munsi y’izuba+. 10 Igikorwa cose uronse ugikorane inkomezi zawe zose, kuko ata gikorwa canke umugambi canke ubumenyi canke ubwenge* biri mu kuzimu+, aho uriko uraja.
11 Hari ikindi kintu nabonye munsi y’izuba: abanyaruka si bo bama batsinda isiganwa, abafise inguvu si bo bama batsinda intambara+, inkerebutsi si zo zama zironka ibifungurwa, abanyabwenge si bo bama baronka ubutunzi+, kandi abafise ubumenyi si bo bama baroranirwa+, kuko ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka* bibashikira bose. 12 Umuntu ntamenya igihe ciwe+. Kurya nyene ifi zigwa mu rusenga n’inyoni zikagwa mu mutego, ni ko n’abana b’abantu bagwa mu mutego mu gihe c’ivyago, iyo bibajeko giturumbuka.
13 Naritegereje kandi ikintu gitangaje munsi y’izuba ku bijanye n’ubukerebutsi: 14 hari agasagara gatoyi karimwo abantu bakeyi. Umwami akomeye yaraje kugatera, aragakikuza yongera yubaka ibintu bikomeye vyo kugatera. 15 Muri ko hariyo umugabo akenye ariko afise ubukerebutsi, kandi yarakijije ako gasagara biciye ku bukerebutsi bwiwe. Mugabo nta n’umwe yibutse uwo mugabo w’umukene+. 16 Naciye nibwira nti: «Ubukerebutsi buraruta inguvu+, ariko ubukerebutsi bw’umukene burasuzugurwa, kandi n’amajambo yiwe nta wuyaha agaciro+.»
17 Amajambo y’umuntu w’inkerebutsi avuganywe ubwitonzi, arumvirwa kuruta ugusemerera kw’umutegetsi aganza ibijuju.
18 Ubukerebutsi buraruta ibirwanisho, ariko umucumuzi umwe gusa arashobora kwonona ivyiza vyinshi+.
10 Kurya nyene insazi zipfuye zituma amavuta yakozwe n’umuhinga yononekara akanuka, ni ko n’ubupfu bukeyi bwonona ubukerebutsi n’ubuninahazwa+.
2 Umutima w’umuntu w’inkerebutsi umujana mu nzira nziza*, ariko umutima w’ikijuju ukijana mu nzira mbi*+. 3 Ikijuju usanga ata bukerebutsi* kigira mu nzira zaco zose+, kandi gituma bose bamenya ko ari ikijuju+.
4 Umutegetsi niyagushavurira cane, uze ugume mu kibanza cawe+, kuko gutekereza bihwamika ibicumuro bikomeye+.
5 Hari ikintu kibabaje nabonye munsi y’izuba, rikaba ari ikosa rikorwa n’abari ku butegetsi+: 6 abantu b’ibipfu bashirwa mu bibanza vyo hejuru, ariko abantu babishoboye* bakagumizwa mu bibanza vyo hasi.
7 Narabonye abasuku bagendera ku mafarasi, ariko abatware* bakagendera hasi nk’abasuku+.
8 Uwimba icobo yoshobora kukigwamwo+, kandi uwumena uruhome rw’amabuye yoshobora gukomorwa n’inzoka.
9 Uwimba amabuye azokomeretswa na yo, kandi uwusatura ibiti bizomushira mu kaga*.
10 Iyo icuma gipfushe ariko umuntu ntagikarishe, aca akoresha inguvu nyinshi. Ariko ubukerebutsi butuma umuntu aroranirwa.
11 Iyo inzoka ikomoye batarayigota, umuhinga mu kugota inzoka nta co aba akimaze.
12 Amajambo ava mu kanwa k’umunyabwenge atuma ashimwa+, ariko iminwa y’ikijuju igikwegera akarambaraye+. 13 Amajambo ya mbere ava mu kanwa kaco ni ubujuju gusa+, aya nyuma na yo ni ubusazi bw’akamaramaza. 14 Ariko ikijuju kiguma kivuga+.
Umuntu ntashobora kumenya ibizoba. None ni nde yomubwira ibizoba inyuma yiwe+?
15 Ibikorwa bitoroshe biraruhisha ikijuju, kuko kidashobora no kumenya inzira ija mu gisagara.
16 Ese ingene igihugu kiba kigowe iyo gifise umwami akiri umwana+, abaganwa baco na bo bakazindukira mu misi mikuru! 17 Ese ukuntu igihugu kiba gihiriwe iyo gifise umwami ava mu muryango w’abanyacubahiro, abaganwa baco na bo bakarya kandi bakanywa ku mwanya ubereye, kugira baronke inguvu atari kugira baborerwe+!
18 Ubunebwe burenze butuma igisenge c’inzu kigondama, kandi kurera amaboko bituma inzu iva+.
19 Ibifungurwa* bituma abantu batwenga, umuvinyu na wo ugatuma ubuzima buryoha+. Ariko amahera ni inyishu y’ibibazo vyose+.
20 Ntukavume* umwami+ naho hoba mu vyiyumviro vyawe*, kandi ntukavume umutunzi uri mu cumba uryamamwo, kuko inyoni* yohava itwara ijwi* ryawe canke ikiremwa kiguruka kigasubiramwo ivyo wavuze.
11 Terera umukate wawe ku mazi+, kuko inyuma y’imisi myinshi uzokwongera kuwuronka+. 2 Nuheko abantu indwi canke mbere umunani ku mugabane wawe+, kuko utazi ivyago bizoshika kw’isi.
3 Iyo ibicu vyuzuye amazi, bica birekurira imvura kw’isi, kandi iyo igiti kiguye kiraba mu bumanuko canke mu buraruko, aho caguye ni ho kiguma kiryamye.
4 Uwuraba umuyaga ntazoteragira imbuto, kandi uwitegereza ibicu ntazokwimbura+.
5 Kurya nyene utazi ingene impwemu ikorera mu magufa y’umwana ari mu nda* y’umugore yibungenze+, ni ko utazi igikorwa c’Imana y’ukuri, imwe ikora ibintu vyose+.
6 Nuteragire imbuto zawe mu gitondo, kandi ntureke ngo ukuboko kwawe kuruhuke gushika ku mugoroba+, kuko utazi izizomera, ko ari izi canke ziriya, canke zose.
7 Umuco ni mwiza, kandi biraryoshe kubona izuba. 8 Umuntu niyabaho imyaka myinshi, akwiye kuyihimbarirwa yose+. Ariko akwiye kwibuka ko imisi y’umwiza ishobora kuba myinshi. Ibizoza vyose ni ubusa+.
9 Nezerwa wa musore mu gihe ukiri muto, kandi umutima wawe unezerwe mu misi y’ubusore bwawe. Nukurikire inzira umutima wawe ushaka, kandi uje ahantu hose amaso yawe akweretse. Ariko umenye ko Imana y’ukuri izogucira urubanza kubera ivyo bintu vyose*+. 10 Nurinde rero umutima wawe ibintu bitera amaganya, kandi urinde umubiri wawe ibintu bibabaza, kuko ubuto n’ubusore ari ubusa+.
12 Niwibuke rero Umuremyi wawe ahambaye mu misi y’ubuto bwawe+, imbere y’uko haza imisi mibi*+ canke ugashika mu myaka aho uzovuga uti: «Ubuzima ntibukindyohera»; 2 imbere y’uko izuba, umuco, ukwezi n’inyenyeri bizima+, n’ibicu bikagaruka imvura ihejeje kugwa*; 3 imbere y’uko abacunzi b’inzu batangura kujugumira, abagabo b’inkomezi bakunama, abagore bakareka gusya kubera babaye bake, abakenyezi barabira mu madirisha bagasanga bwije+; 4 imbere y’uko imiryango iraba kw’ibarabara yugarwa, ijwi ry’urusyo rikagabanuka, umuntu agasigara avyurwa n’ijwi ry’inyoni, n’abakobwa bose bagasigara baririmba n’ijwi ritoyi+; 5 imbere y’uko umuntu asigara atinya ahantu hataramutse kandi akagira ubwoba ari mw’ibarabara; imbere y’uko igiti ca shakedi gishurika+, igihori kikagenda cikwega, agapiripiri kagaturika kuko umuntu ariko aja mu nzu y’igihe kirekire+, abagandaye na bo bagatembera mw’ibarabara+. 6 Emwe, umwibuke umugozi w’ifeza utaracika, ibakure y’inzahabu itarameneka, umubindi wo kw’iriba utaramenagurika, n’ikurudumu yo kuvoma amazi mw’itangi itarajanjagurika. 7 Umukungugu rero uraheza ugasubira mw’ivu+ aho wahoze, impwemu* na yo igasubira ku Mana y’ukuri yayitanze+.
8 «Ni ubusa gusa*!», ni ko uwukoranya abantu+ avuze, «vyose ni ubusa+!»
9 Uwukoranya abantu ntiyacitse umunyabwenge* gusa, ariko kandi yagumye yigisha abantu ivyo azi+. Yarazirikanye yongera aracukura kugira yegeranye* imigani myinshi+. 10 Uwukoranya abantu yaragerageje kurondera amajambo aryoshe+ no kwandika amajambo y’ukuri atagiramwo amakosa.
11 Amajambo y’abanyabwenge* ameze nk’imihunda*+, kandi ivyegeranyo vy’amajambo yabo bimeze nk’imisumari ishimangiye. Vyatanzwe n’umwungere umwe. 12 Ibirenze kuri ibi ga mwananje, ube maso! Umenye ko kwandika ibitabu vyinshi bitagira iherezo, kandi kuvyihebera cane biruhisha umubiri+.
13 Inyuma y’ivyo vyose rero, insozero ni iyi: tinya Imana y’ukuri+ kandi wubahirize amabwirizwa yayo+, kuko ico ari co gihambaye cane mu buzima bw’umuntu+. 14 Kuko Imana y’ukuri izocira urubanza abantu ku bintu vyose bakora, harimwo ibintu vyose vyanyegejwe, kugira imenye ko ari vyiza canke bibi+.
Canke «uwegeranya abantu», «uwutumako abantu.»
Canke «nta co bimaze.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «yama ihagaze.»
Canke «riramurika.»
Canke «rica risubira inyuma rihezagirika.»
Canke «inzuzi zo mu rushana.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «ubujuju burenze.»
Canke «umunezero.»
Canke «ku munezero.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «ikibira.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu bo mu nzu.»
Canke «amatungo adasanzwe y’abami n’intara.»
Canke «ubukerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikintu cose amaso yanje yansaba.»
Canke «nta munezero.»
Canke «umugabane.»
Canke «gifise akarusho.»
Canke «ari mu mutwe wiwe.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «umugabane wiwe.»
Canke «kandi ni icago gikomeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «no mu kwiyahagura kw’umutima wiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «gusimbasimba», «gutaragurika.»
Canke «yagitunganije neza», «yakigize ikibereye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «irondera ivyazimanganye.»
Canke «umugabane.»
Canke «ukubira akuya cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «maze kikarya inyama z’umubiri waco.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso yiwe ntiyigera ahaga.»
Canke «inyungu nyinshi.»
Canke «ntivyoroshe kugica.»
Canke «w’inkerebutsi.»
Canke «kuburirwa.»
Hashobora kuba herekeza kuri wa mwana aciye ubwenge.
Mu giheburayo havuga ngo «gacumuze umubiri wawe.»
Canke «intumwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaba arya.»
Canke «hari icago gikomeye.»
Canke «ibikorwa.»
Canke «ni icago gikomeye.»
Canke «umugabane.»
Canke «umugabane.»
Canke «ntanavyibuke.»
Canke «hariho ikindi cago.»
Canke «kandi no gupfa ntapfe.»
Mu giheburayo havuga ngo «aguma afise akaruhuko kuruta urya muntu wa mbere.»
Mu giheburayo havuga ngo «kugendera imbere y’abazima.»
Canke «kuburana.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibintu.»
Canke «kuvugwa neza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umubabaro mu maso.»
Canke «inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiwihutire gushavura mu mutima.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko ibijuju birangwa n’ishavu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku babona izuba.»
Canke «umusi w’ivyago.»
Canke «ntibashobore kwubura.»
Canke «ariko arakuvuga nabi.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «azi insobanuro y’ibintu.»
Canke «umwanya ubereye n’ingingo ibereye.»
Canke «impemu», «umuyaga.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ababisha ntibashobora gukizwa n’ububisha bwabo.»
Canke «kitagira akamaro.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mbona yuko abantu badatora agatiro ku murango no mw’ijoro.»
Mu giheburayo havuga ngo «inyuma y’ivyo bagahamvya abapfuye.»
Canke «umushahara.»
Ni ukuvuga impuzu zikeye zerekana umunezero atari impuzu zerekana ikigandaro.
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «bitari vyitezwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «uri mu kuboko kwiwe kw’iburyo.»
Mu giheburayo havuga ngo «uri mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ata mutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «abantu b’abatunzi.»
Canke «abaganwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akwiye kuvyiyubarako.»
Canke «umukate.»
Canke «ntuze utuke.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ku gitanda cawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «igikoko kiguruka mu kirere.»
Canke «ubutumwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu magufa ari mu nda.»
Canke «izobikubaza vyose.»
Canke «imisi y’ivyago.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’ibicu bikagarukana n’imvura.»
Canke «inguvu y’ubuzima.»
Canke «nta co bimaze.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «kugira ashire ku rutonde.»
Canke «inkerebutsi.»
Umuhunda ni inkoni yari ikwikiyeko icuma gisongoye. Bayikoresha mu kuyobora inka ziriko zirarima.