Nehemiya
13 Kuri uwo musi, basomera+ abantu mu gitabu+ ca Musa; nuko basanga handitswemwo yuko Umwamoni+ n’Umunyamowabu+ badakwiye kwinjira mw’ishengero ry’Imana y’ukuri gushika igihe kitagira urugero+, 2 kuko batari barasanganije bene Isirayeli umukate+ n’amazi+, mugabo bagahera Balamu+ ngo ahamagarire akabi kuri bo+. Ariko Imana yacu uwo muvumo iwuhindura umuhezagiro+. 3 Nuko bakimara kwumva iryo tegeko+, batangura gutandukanya+ uruvange rw’abantu rwose na Isirayeli.
4 Ariko imbere y’ivyo, Eliyashibu+ umuherezi ajejwe icumba c’uburiro+ c’inzu y’Imana yacu yari incuti ya Tobiya+; 5 atangura kwitegurira icumba c’uburiro kinini+, ahahora hashirwa ubudasiba ishikanwa ry’intete+ n’imibavu ya olibani, n’ibikoresho, n’ic’icumi c’intete n’umuvinyu mushasha+ n’amavuta+, ico c’icumi kikaba ari ico Abalewi+ n’abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo bafitiye uburenganzira, hagashirwa n’intererano igenewe abaherezi.
6 Muri ico gihe cose, sinari i Yeruzalemu, kuko mu mwaka ugira mirongo itatu na kabiri+ wa Aritazeruzi+ umwami wa Babiloni nari nagiye ku mwami, maze haciye igihe ngasaba umwami ngo andekure ngende+. 7 Nuko nza i Yeruzalemu maze mbona ikibi Eliyashibu+ yari yarakoze ku neza ya Tobiya+ mu kumutegurira icumba mu kigo c’inzu+ y’Imana y’ukuri. 8 Ivyo mbibona nabi cane+. Nterera+ rero hanze y’icumba c’uburiro ibikoresho vyose vy’inzu ya Tobiya. 9 Inyuma y’ivyo, ntanga itegeko maze bahumanura+ ivyumba vy’uburiro+; ntangura gusubizayo ibikoresho+ vy’inzu y’Imana y’ukuri, hamwe n’ishikanwa ry’intete be n’imibavu ya olibani+.
10 Nuko menya yuko Abalewi batari barahawe imigabane+ yabo, ku buryo Abalewi n’abaririmvyi bakora igikorwa bari barataye bakomoka, umwe wese akigira kw’itongo ryiwe+. 11 Maze ntangura gutatira+ ivyegera vy’abatware+ nti: “Kubera iki inzu y’Imana y’ukuri yafashwe minenegwe+?” Ndabakoraniriza hamwe rero hanyuma ndabashira mu bibanza vyabo. 12 Nuko Yuda yose izana mu bubiko+ ic’icumi+ c’intete+ n’ic’umuvinyu mushasha+ n’ic’amavuta+. 13 Maze nzeza ubwo bubiko Shelemiya umuherezi na Zadoki umwimuzi na Pedaya wo mu Balewi; bano bagaba Hanane mwene Zakuri, Zakuri mwene Mataniya+, kuko babonwa ko ari abizigirwa+; ni bo bari bajejwe kugabanganiriza+ ibintu bene wabo.
14 Uze unyibuke+ kuri ivyo, ewe Mana yanje, ntuze uhanagure+ ibikorwa vyanje vy’ubuntu bwuzuye urukundo nakoze ku bijanye n’inzu+ y’Imana yanje be n’ukuyirinda.
15 Muri iyo misi mbona muri Yuda abantu bariko baganisha amaguru mu nganiro z’umuvinyu kw’isabato+, bazana ibirundo vy’intete bongera babiremeka+ indogobwa+, bakaziremeka n’umuvinyu n’inzabibu n’insukoni+ n’imizigo y’ubwoko bwose, bakavyinjiza i Yeruzalemu ku musi w’isabato+; nuko ntangura kubagiriza ku musi bariko bagurisha ibiribwa. 16 Abanyatiro+ baba mu gisagara, bakaba barazana amafi n’ubwoko bwose bw’ibidandazwa+ bakabigurisha kw’isabato kuri bene Yuda n’i Yeruzalemu. 17 Nuko ntangura gutatira abanyacubahiro+ ba Yuda, ndababwira nti: “Ico kintu kibi muriko murakora ni igiki, mugahumanya mbere n’umusi w’isabato? 18 Mbega ukwo si ko ba sogokuruza banyu bakoze+, bigatuma Imana yacu iduteza ibi vyago vyose+, ikabiteza n’iki gisagara? Yamara muriko mwongereza ishavu rirurumbira Isirayeli mu guhumanya isabato+.”
19 Mu marembo ya Yeruzalemu hakimara kwijima imbere y’uko isabato ishika, nca ntanga itegeko maze batangura kwugara imiryango+. Mvuga kandi yuko badakwiye kuyugurura gushika isabato imaze kurangira; nshira bamwe mu basuku banje ku marembo kugira ngo ntihagire umuzigo winjira ku musi w’isabato+. 20 Abacuruza n’abagurisha ibidandazwa vy’ubwoko bwose barara rero hanze ya Yeruzalemu incuro imwe n’iyigira kabiri. 21 Maze ntangura gushinga intahe+ ndabagiriza, ndababwira nti: “Kubera iki murara imbere y’uruhome? Nimwasubira nzobashorerako amaboko+.” Kuva ico gihe ntibongeye kuza kw’isabato.
22 Hanyuma mbwira Abalewi+ yuko bakwiye kwama bityorora+, bakaza gucungera amarembo+ kugira beze+ umusi w’isabato. Ivyo na vyo nyene uze uvyibuke+ ku neza yanje, ewe Mana yanje, kandi uze unyumvire akagongwe nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+ bwinshi buri.
23 Vyongeye, muri iyo misi mbona Abayuda bari barabiriye+ abagore b’Abanyashidodikazi+ n’ab’Abamonikazi n’ab’Abanyamowabukazi+. 24 Nayo abahungu babo, igice kimwe cavuga ikinyashidodi; nta numwe muri bo yari azi kuvuga ikiyuda+, mugabo bavuga ururimi rw’ibisata vy’abantu bitandukanye. 25 Nuko ndabatatira nongera mpamagarira akabi kuri bo+; nkubita abagabo bamwe muri bo+, ndabashikura imishatsi maze ndabarahiza Imana+ nti: “Ntimugahe abakobwa banyu abahungu babo, kandi ntihakagire n’umwe mu bakobwa babo musabira abahungu banyu canke ngo mubisabire mwebwe ubwanyu+. 26 Mbega abo si bo bacumuje Salomo umwami wa Isirayeli+? Mu mahanga menshi nta mwami ameze nka we yariho+; kandi yarakundwa n’Imana yiwe+, ku buryo Imana imugira umwami wa Isirayeli yose. Na we nyene abagore b’abanyamahangakazi baramucumuje+. 27 Mbega si akamaramaza kubona mukora ico kibi gikomeye cose mugahemukira Imana yacu mu kwabira abagore b’abanyamahangakazi+?”
28 Kandi umwe muri bene Yoyada+, Yoyada mwene Eliyashibu+ umuherezi mukuru, yari umukwe wa Sanibalati+ Umuhoroni+. Nuko ndamwirukana, amva iruhande+.
29 Uze ubibuke, ewe Mana yanje, kubera bahumanije+ ubuherezi n’isezerano+ ry’ubuherezi n’Abalewi+.
30 Nuko ndabatyorora+ mbakuramwo ikintu cose c’ikinyamahanga maze nshinga ibikorwa abaherezi n’Abalewi, umwe wese mu gikorwa ciwe+, 31 mbere ntunganya ibijanye n’ukuzana inkwi+ ku bihe vyashinzwe be n’ibijanye n’ivyamwa vya mbere vyeze.