105 Nimukengurukire Yehova, mwambaze izina ryiwe+,
Mumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora+.
2 Nimumuririmbire, mumuhibongoreze+,
Mwitwararike ibikorwa vy’agatangaza vyiwe vyose+.
3 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.
Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
4 Nimurondere Yehova be n’inkomezi ziwe+.
Nimurondere mu maso hiwe nantaryo+.
5 Nimwibuke ibikorwa vyiwe vy’agatangaza yaranguye+,
Ibitangaro vyiwe n’ingingo z’ubutungane z’akanwa kiwe+,
6 Yemwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe+,
Mwebwe bene Yakobo, abo yatoye+!
7 Ni we Yehova Imana yacu+.
Ingingo ziwe z’ubutungane ziri mw’isi yose+.
8 Yaributse isezerano ryiwe, egome, gushika igihe kitagira urugero+,
Ijambo yategetse, gushika ku mayaruka igihumbi+,
9 Isezerano yagiranye na Aburahamu+,
N’indahiro yarahiye Izahaki+,
10 Iyo yagumijeho bwa ngingo nyobozi kuri Yakobo,
Bwa sezerano ryamaho igihe kitagira urugero kuri Isirayeli+,
11 Akavuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+
Kibe wo mugabane w’intoranwa yanyu+.”
12 Aho hari igihe bari imparurwa+,
Emwe, bake cane, bakaba na ba kavamahanga muri co+.
13 Kandi baguma bagendagenda bava mw’ihanga baja mu rindi+,
Bava mu bwami bumwe bagana ikindi gisata+.
14 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abagunga+,
Mugabo kubera bo, yarakangiriye abami+,
15 Ati: “Ntimukore ku bo narobanuje amavuta+,
Kandi ntihagire ikintu kibi na kimwe mugirira abahanuzi banje+.”
16 Nuko ahamagarira ikigoyi ku gihugu+;
Avuna inkoni yose yatungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+.
17 Arungika imbere yabo umuntu
Yagurishijwe ngo abe umushumba, ari we Yozefu+.
18 Bababarisha amapingu ibirenge vyiwe+,
Ubuzima bwiwe bwinjira mu vyuma+;
19 Gushika aho ijambo ryiwe riziye+,
Ijambo rya Yehova ubwaryo riramutyorora+.
20 Umwami atuma umuntu kugira amubohore+,
Umutware w’ibisata vy’abantu arabikora, kugira amurekure.
21 Amugira shebuja w’urugo rwiwe+
N’umutware aganza ivyiwe vyose+,
22 Kugira agabe abaganwa biwe uko umutima wiwe ugomba+
No kugira ngo yigishe ubukerebutsi abahumure biwe+.
23 Hanyuma Isirayeli araza mu Misiri+,
Yakobo ubwiwe abaho ari kavamahanga mu gihugu ca Hamu+.
24 Aguma atuma abantu biwe barondoka cane+,
Amaherezo abaha kugira inkomezi kuruta abarwanizi babo+.
25 Areka umutima wabo urahinduka ngo wanke abantu biwe+,
Ngo bagire ivy’urwenge ku basavyi biwe+.
26 Atuma Musa umusavyi wiwe+,
Atuma Aroni, uwo yari yaratoye+.
27 Bashira hagati yabo ibintu vy’ibimenyetso vyiwe+,
N’ibitangaro mu gihugu ca Hamu+.
28 Arungika umwiza, atuma hijima+;
Kandi ntibagararije amajambo yiwe+.
29 Ahindura amazi yabo amaraso+,
Yica amafi yabo+.
30 Igihugu cabo kinyagaramwo ibikere+,
Mu vyumba vy’abami babo.
31 Avuga ngo ibibugu bize+,
Imibu mu turere twabo twose+.
32 Imvura zabo z’isegenya azigira urubura+,
Umuriro ururumba ku gihugu cabo+.
33 Akubita imizabibu yabo n’ibiti vyabo vy’imisukoni,
Avunagura n’ibiti vyo mu karere kabo+.
34 Avuga ngo inzige zize+,
N’inzige zikiri nto, emwe, zitagira igitigiri+.
35 Zirya ibimera vyose mu gihugu cabo+;
Zirya n’umwimbu w’ubutaka bwabo.
36 Hanyuma yica zina mfura mu gihugu cabo+,
Ubuzibūra bwabo bwose+.
37 Atangura kubasohorana ifeza n’inzahabu+;
Kandi mu miryāngo yiwe nta n’umwe yagenda aratsitara.
38 Misiri yaranezerewe basohotse,
Kuko ukubagirira ubwoba kwari kwabatekeye+.
39 Asanza igicu ngo kibe igikingirizo+,
N’umuriro wo gutanga umuco mw’ijoro+.
40 Barasaba, azana inkware+,
Aguma abahaza umukate uva mw’ijuru+.
41 Yugurura igitandara, amazi atangura gutemba+;
Ano agenda aca mu turere tugadutse, atemba nk’uruzi+.
42 Kuko yibutse ijambo ryiwe ryeranda yavuganye na Aburahamu umusavyi wiwe+.
43 Nuko asohora abantu biwe n’umwigino+,
Abo yatoye abasohorana akamo k’umunezero+.
44 Amaherezo abaha ibihugu vy’amahanga+,
Baguma bigarurira ibiva mu gikorwa c’ubutame c’imiryango y’amahanga+,
45 Kugira ngo bagumye ingingo nyobozi ziwe+,
Bubahirize amategeko yiwe+.
Shemeze Ya+!