ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 11
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Guharura: ibirimwo

      • Imana ibatiburiramwo umuriro kubera bidodomvye (1-3)

      • Abisirayeli barira basaba inyama (4-9)

      • Musa avuga ko ata vyo ashoboye (10-15)

      • Yehova aha impwemu abashingantahe 70 (16-25)

      • Elidadi na Medadi; Yosuwa yumvira impuhwe Musa (26-30)

      • Inkware; Imana ihana Abisirayeli kubera umunoho wabo (31-35)

Guharura 11:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 32:11; Gus 9:19; Zb 106:23; Yak 5:16

Guharura 11:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «kururumba.» Ni ukuvuga umuriro mwinshi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 9:22

Guharura 11:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:37, 38; Lw 24:10
  • +1Kr 10:6, 10
  • +Zb 78:18, 22; 106:14

Guharura 11:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    11/2020, rup. 25-26

Guharura 11:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:35; Gh 21:5

Guharura 11:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:14; Neh 9:20; Yoh 6:31
  • +Kv 16:31

Guharura 11:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Bayisya ku nsyo z’amaboko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:16, 23

Guharura 11:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 78:24

Guharura 11:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 11:1

Guharura 11:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 17:4; Gus 1:12

Guharura 11:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umurezi w’umugabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 13:14, 15; 26:3

Guharura 11:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 18:17, 18; Gus 1:9

Guharura 11:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 19:2, 4; Yb 6:8, 9

Guharura 11:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 16:18

Guharura 11:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:11; 25:22; 34:5; Gh 12:5
  • +Gh 11:25; 12:8
  • +1Sm 10:6; 2Bm 2:15; Neh 9:20; Ivk 2:17
  • +Kv 18:21, 22

Guharura 11:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nimwiyeze.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:10
  • +Kv 16:7
  • +Gh 11:4, 5
  • +Kv 16:8

Guharura 11:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 78:29
  • +Gh 21:5

Guharura 11:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «abagabo bagenda n’amaguru.» Iyo mvugo ishobora kuba yerekeza ku bagabo b’inguvu bashoboye kurwana.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:37; 38:26; Gh 1:45, 46

Guharura 11:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:14; Yes 59:1; Mr 10:27; Lk 1:37

Guharura 11:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 11:16

Guharura 11:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kwifata nk’abahanuzi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 33:9; Gh 12:5; Gus 31:15
  • +Zb 99:7
  • +Gh 11:17; 2Bm 2:9, 15
  • +1Sm 10:6; 19:20

Guharura 11:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 17:9; 24:13; 33:11; Gh 27:18-20; Gus 31:3
  • +Mr 9:38

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    1/2017, rup. 30

Guharura 11:29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    1/2017, rup. 30

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2004, rup. 26

Guharura 11:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:13; Zb 78:26, 27

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/9/2011, rup. 14

Guharura 11:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Homeri imwe yangana n’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Guharura 11:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 78:30, 31; 1Kr 10:10

Guharura 11:34

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga imva z’abanyameru.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 33:16; Gus 9:22
  • +1Kr 10:6

Guharura 11:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 33:17

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Guh. 11:2Kv 32:11; Gus 9:19; Zb 106:23; Yak 5:16
Guh. 11:3Gus 9:22
Guh. 11:4Kv 12:37, 38; Lw 24:10
Guh. 11:41Kr 10:6, 10
Guh. 11:4Zb 78:18, 22; 106:14
Guh. 11:5Kv 16:3
Guh. 11:6Kv 16:35; Gh 21:5
Guh. 11:7Kv 16:14; Neh 9:20; Yoh 6:31
Guh. 11:7Kv 16:31
Guh. 11:8Kv 16:16, 23
Guh. 11:9Zb 78:24
Guh. 11:10Gh 11:1
Guh. 11:11Kv 17:4; Gus 1:12
Guh. 11:12It 13:14, 15; 26:3
Guh. 11:14Kv 18:17, 18; Gus 1:9
Guh. 11:151Bm 19:2, 4; Yb 6:8, 9
Guh. 11:16Gus 16:18
Guh. 11:17Kv 19:11; 25:22; 34:5; Gh 12:5
Guh. 11:17Gh 11:25; 12:8
Guh. 11:171Sm 10:6; 2Bm 2:15; Neh 9:20; Ivk 2:17
Guh. 11:17Kv 18:21, 22
Guh. 11:18Kv 19:10
Guh. 11:18Kv 16:7
Guh. 11:18Gh 11:4, 5
Guh. 11:18Kv 16:8
Guh. 11:20Zb 78:29
Guh. 11:20Gh 21:5
Guh. 11:21Kv 12:37; 38:26; Gh 1:45, 46
Guh. 11:23It 18:14; Yes 59:1; Mr 10:27; Lk 1:37
Guh. 11:24Gh 11:16
Guh. 11:25Kv 33:9; Gh 12:5; Gus 31:15
Guh. 11:25Zb 99:7
Guh. 11:25Gh 11:17; 2Bm 2:9, 15
Guh. 11:251Sm 10:6; 19:20
Guh. 11:28Kv 17:9; 24:13; 33:11; Gh 27:18-20; Gus 31:3
Guh. 11:28Mr 9:38
Guh. 11:31Kv 16:13; Zb 78:26, 27
Guh. 11:33Zb 78:30, 31; 1Kr 10:10
Guh. 11:34Gh 33:16; Gus 9:22
Guh. 11:341Kr 10:6
Guh. 11:35Gh 33:17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Guharura 11:1-35

Guharura

11 Abantu batangura kwidodomba n’agashavu imbere ya Yehova. Yehova avyumvise, aca ararungura n’ishavu. Yehova aca abatiburiramwo umuriro, utangura kuyigiza bamwebamwe ku mpera y’ikambi. 2 Abantu baca batangura kuririra Musa, na we aca atakambira Yehova+ maze uwo muriro urazima. 3 Aho hantu baca bahita Tabera*, kuko Yehova yari yabatiburiyemwo umuriro+.

4 Isinzi ry’abanyamahanga+ bari kumwe na bo batangura kwipfuza cane+ ivyo kurya vyizavyiza. Abisirayeli na bo nyene baca batangura kurira, bavuga bati: «Ni nde azoduha inyama turya+? 5 Urazi ukuntu dukumbuye ya mafi twahora twirira kuri gusa mu Misiri, na ya makonkombure, amapasteke, ibitunguru vya pwaro, ibitunguru vy’amagoma n’ibitungurusumu+! 6 Ariko raba ubu, nta n’utuguvu tugifise. Nta kindi duhanze amaso atari iyi manu+.»

7 Iyo manu+ rero yari imeze nk’imbuto z’agati kitwa gadi+, kandi yasa n’ibirirarira vyera biva ku biti. 8 Abantu barakwiragira irya n’ino bakayitora, hanyuma bakayisya* canke bakayisekura. Baca bayiteka mu nkono canke bakayikoramwo imikate yiburungushuye+. Yari ifise akanovera nk’ak’udukate dusosa ducumbanywe amavuta. 9 Igihe urume rutonze aho bakambitse mw’ijoro, na manu yazanana na rwo+.

10 Musa yumva abantu bo mu miryango yose barira, umwe wese aririra ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe. Yehova aca arashavura cane+, na Musa biramubabaza rwose. 11 Maze Musa abwira Yehova ati: «Kubera iki wankwegeye izi ngorane jewe umusavyi wawe? Kuki utanyumviye akagongwe, ukandemeka umuzigo w’aba bantu bose+? 12 Mbega ni je natwaye inda y’aba bantu bose? Ni je nabavyaye aho umbwira ngo ndababumbatire mu gikiriza nka kurya umurezi* abumbatira umwana yonka, maze ndabajane mu gihugu warahiye ko uzoha ba sekuruza babo+? 13 Nzokura hehe inyama zikwiye aba bantu bose, ko baguma bandirira ngo ndabahe inyama! 14 Sinshobora kwikorera aba bantu bose jenyene kuko bandengeye+. 15 Hako ubandanya kumfata gutyo, pfuma unyica bihere biheze+. Ndagusavye ntusubire kunyereka ibindi vyago.»

16 Yehova yishura Musa ati: «Ntorera abagabo 70 mu bashingantahe bo muri Isirayeli, abagabo uzi ko ari abashingantahe n’abakuru babishoboye+, ubajane kw’ihema ry’ibonaniro hanyuma uhagararane na bo ng’aho. 17 Nanje nzoca manuka+, mvuganire nawe ng’aho+. Nzokura impwemu nkeyi+ kuri wewe ndayishire kuri bo, baheze bagufashe kwikorera umuzigo w’aba bantu kugira ntubandanye kuwikorera wenyene+. 18 Bwira abantu uti: “Nimwitegurire* umusi w’ejo+. Muzorya inyama koko, kuko Yehova yumvise ingene murira mwidoga+ ngo: ‘Ni nde azoduha inyama turya? Mu Misiri hoho twari twimererewe neza+.’ Emwe, ari inyama gusa, Yehova azozibaha kandi muzozirya+. 19 Ntimuzozirya umusi umwe gusa canke 2 canke 5 canke 10 canke 20, 20 ahubwo muzozirya ukwezi kwose, gushika zibaciye mu mazuru zigasigara zibashisha+, kuko mwiyamirije Yehova ari hagati yanyu, mukaririra imbere yiwe muvuga ngo: ‘Kubera iki twavuye mu Misiri+?’”»

21 Maze Musa avuga ati: «Iri hanga ryacu ririmwo abagabo* 600.000+, hanyuma nawe ngo: “Nzobaha inyama barya ukwezi kwose!” 22 Mbega hoho uwobabagira amasho y’ibitungwa, ugira yobakwira? Canke uwofata amafi yose yo mu kiyaga, ugira yobakwira?»

23 Yehova yishura Musa ati: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi+? Nawe uraza kuraba ko ivyo ndakubwiye biba canke bitaba.»

24 Musa aca agenda kubwira abantu ivyo Yehova yavuze. Akoranya ba bagabo 70 bavuye mu bashingantahe bo muri Isirayeli, abasaba guhagarara bakikuje ihema ry’ibonaniro+. 25 Yehova aca amanuka mu gicu+, avugana na we+. Akura impwemu nkeyi+ kuri we, ayishira kuri umwumwe muri ba bashingantahe 70. Iyo mpwemu imaze kubajako, baca batangura kuvuga ubuhanuzi*+. Ariko ivyo ntivyabandanije.

26 Ariko rero, hari abagabo babiri muri bo bari bagumye mw’ikambi. Umwe yitwa Elidadi, uwundi Medadi. Nuko impwemu ibazako, kuko na bo nyene bari mu banditswe, ariko ntibari bagiye kw’ihema ry’ibonaniro. Na bo baca batangura kuvuga ubuhanuzi mw’ikambi. 27 Umusore umwe aca yiruka kwa Musa, amubwira ati: «Elidadi na Medadi bariko baravuga ubuhanuzi mw’ikambi!» 28 Yosuwa+ mwene Nuni, uwabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, aca abwira Musa ati: «Databuja, babuze+!» 29 Ariko Musa amwishura ati: «Uriko uranyumvira impuhwe? Ahubwo icompa abantu bose ba Yehova bakaba abahanuzi, Yehova akabashirako impwemu yiwe!» 30 Musa araheza asubira mw’ikambi, ari kumwe na ba bashingantahe bo muri Isirayeli.

31 Ubwo nyene umuyaga uvuye kuri Yehova uca urahuhuta, utangura kuzana inkware zivuye ku kiyaga, zigwa hirya no hino y’ikambi+. Zikikuza ikambi gushika ahantu umuntu yogenda urugendo rw’umusi umwe. Kuva hasi kuduga zashika ahareha n’intambwe* zibiri. 32 Abantu baca bamara uwo musi wose begeranya izo nkware ijoro n’umurango be n’umusi ukurikira wose. Nta n’umwe yegeranije iziri munsi ya homeri* cumi. Baguma bazanikira hirya no hino y’ikambi. 33 Ariko izo nyama zikiri mu kanwa kabo, bataranatangura kuzihekenya, Yehova aca arashavurira cane abo bantu, maze Yehova atangura kubasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+.

34 Aho hantu baca bahita Kiburoti-Hatava*+, kuko bahahamvye abantu bafise ameru+. 35 Abantu baraheza bafata urugendo, bava i Kiburoti-Hatava baja i Hazeroti+ maze bagumayo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika