Mariko
10 Arahaguruka ava ng’aho, aza ku mipaka ya Yudaya no hakurya ya Yorodani, buno amasinzi yongera gukoranira kuri we, hanyuma nk’uko yari amenyereye kubigenza, yongera kubigisha+. 2 Abafarizayo baregera, hanyuma kugira bamugeze, batangura kumubaza nimba vyemewe ko umugabo yirukana umugore+. 3 Abishura ati: “Musa yabategetse iki?” 4 Bavuga bati: “Musa yarekuye ko umuntu yandika icete co gusezerera umugore agaheza akamwirukana+.” 5 Mugabo Yezu ababwira ati: “Yabandikiye iryo bwirizwa kubera ugukomantara kw’imitima yanyu+. 6 Ariko kuva mu ntango y’irema, ‘Yabagize umugabo n’umugore+. 7 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, 8 kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+’; ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. 9 Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo* imwe umuntu ntakagitanye+.” 10 Bongeye kuba bari mu nzu+, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11 Na we ababwira ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ ku vyerekeye nya mugore, 12 kandi umugore ataye umugabo wiwe, aramutse arongowe n’uwundi, aba arenze ibigo+.”
13 Buno abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko; mugabo abigishwa barabakankamira+. 14 Yezu abibonye biramushavuza, ababwira ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15 Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.” 16 Araheza afata nya bana mu maboko yiwe atangura kubahezagira, abarambitseko ibiganza+.
17 Hanyuma igihe yariko arasohoka ngo afate inzira, umuntu umwe aza arirukanga akubita ibipfukamiro imbere yiwe, amubaza ati: “Mwigisha mwiza, ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera+?” 18 Yezu amubwira ati: “Unyitira iki mwiza+? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana+. 19 Urazi amabwirizwa: ‘Ntiwice+, Nturenge ibigo+, Ntiwibe+, Ntushinge intahe y’ikinyoma+, Ntugunge+, Tera iteka so na nyoko+.’” 20 Nya muntu amubwira ati: “Mwigisha, ivyo vyose narabigumije kuva mu buto bwanje.” 21 Yezu aramwitegereza yumva aramukunze, aca amubwira ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire+.” 22 Mugabo arijirwa yumvise iryo jambo, aca agenda intuntu ari yose, kuko yari atunze ibintu vyinshi+.
23 Yezu amaze kweraguza, abwira abigishwa biwe ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera+ kwinjira mu bwami bw’Imana+!” 24 Mugabo abigishwa batangazwa cane+ n’amajambo yiwe. Nuko Yezu aca ababwira kandi ati: “Bibondo, ese ukuntu ari ikigoye kwinjira mu bwami bw’Imana! 25 Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi+.” 26 Noneho barushiriza kujorerwa, bamubwira bati: “None koko ni nde ashobora gukizwa+?” 27 Yezu abaraba mu maso, avuga ati: “Ku bantu ntibishoboka, mugabo ku Mana si ukwo, kuko vyose bishoboka ku Mana+.” 28 Petero atangura kumubwira ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira+.” 29 Yezu avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nta n’umwe yasize inzu canke bene wabo canke bashikiwe canke nyina canke se canke abana canke amatongo ku bwanje no ku bw’inkuru nziza+ 30 atazoronka incuro ijana+ ubu muri iki kiringo, amazu na bene wabo na bashikiwe na ba nyina n’abana n’amatongo, hariko n’uruhamo+, mu gihe* kizoza na ho ubuzima budahera. 31 Ariko benshi ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.”
32 Bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, Yezu akaba yariko agendera imbere yabo, barumirwa; mugabo abariko barakurikira batangura gutinya. Yongera kwikebukanya bamwe cumi na babiri, atangura kubabwira ibi bintu vyabwirizwa kumushikira+, ati: 33 “Raba tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, kandi bazomucira urwo gupfa, bamugabure mu maboko y’abanyamahanga+, 34 bamushinyagurize, bamucireko, bamushishagure hanyuma bamwice, mugabo haciye imisi itatu azozuka+.”
35 Nuko Yakobo na Yohani, ba bahungu babiri ba Zebedayo+, baramwegera bamubwira bati: “Mwigisha, dushaka ko utugirira ico tugusaba cose+.” 36 Ababwira ati: “Mushaka ko ndabagirira iki?” 37 Bamubwira bati: “Duhe kuzokwicara, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe+.” 38 Mugabo Yezu ababwira ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega murashobora kunywa igikombe ndiko ndanywa, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+?” 39 Bamubwira bati: “Turabishobora.” Yezu aca ababwira ati: “Igikombe ndiko ndanywa muzokinywa, n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+. 40 Ariko ukwo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange+, ahubwo ni ivy’ababiteguriwe.”
41 Nuko, aho bamwe cumi bandi bavyumviye, batangura gushavurira Yakobo na Yohani+. 42 Mugabo Yezu amaze kubahamagara ngo baze kuri we, ababwira ati: “Murazi yuko ababoneka ko baganza amahanga bayakandamiza, be n’uko abakomakomeye bayo bayereka ko bayafiseko ububasha+. 43 Ukwo si ko bimeze muri mwebwe; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44 kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose+. 45 Kuko mbere n’Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe+, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu*+ ya benshi+.”
46 Hanyuma baza i Yeriko. Mugabo igihe we n’abigishwa biwe be n’isinzi ritari rito bariko barava i Yeriko, Barutimayo (mwene Timayo), umusezi w’impumyi, yari yicaye iruhande y’inzira+. 47 Aho yumviye ko ari Yezu Umunyanazareti, atangura gusemerera avuga ati: “Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+!” 48 Benshi baca batangura kumubwira bamukarira ngo acereze; mugabo aguma arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+!” 49 Nuko Yezu arahagarara, avuga ati: “Nimumuhamagare.” Na bo bahamagara nya mpumyi, bayibwira bati: “Nureme, uhaguruke, araguhamagaye+.” 50 Ita impuzu yayo yo hejuru, irabaduka, ija kwa Yezu. 51 Yezu amwishura ati: “Ushaka ndakugirire iki+?” Nya mpumyi imubwira iti: “Rabuni*, nimpumuke+.” 52 Yezu na we amubwira ati: “Genda, ukwizera kwawe kuragukijije+.” Buno nyene arahumuka+, aca atangura kumukurikira mu nzira+.