-
Zaburi 22:akajambo k’intangamarara-31Bibiliya y’isi nshasha
-
-
Ku muyobozi, ku Mpongokazi y’Umutwenzi. Agahibongozo ka Dawidi.
22 Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye+?
Kubera iki utevye kunkiza+,
Ukaba kure y’amajambo y’ukuroha kwanje+?
2 Ewe Mana yanje, nguma mpamagara ku murango, nawe ntiwishure+;
Ndahamagara no mw’ijoro, kandi sinigera ncereza+.
Kandi amagufa yanje yose aratanijwe+.
Umutima wanje ucitse nk’ishashara+;
Ushongeye imbere muri jewe+.
15 Ububasha bwanje bwumye nk’urujo+,
Ururimi rwanje na rwo rumatanijwe n’ibinyigishi vyanje+;
Kandi unshira mu mukungugu w’urupfu+.
Ikoraniro ry’inkozi z’ikibi riranzitiye+.
Nka kurya kw’intambwe, bari ku maboko yanje no ku birenge vyanje+.
20 Rokora ubuzima bwanje ubukize inkota+,
Ubwo mfise bwonyene ubukize ijanja ry’imbwa+;
Unyishure kandi unkize amahembe y’amashūri y’amanyeshamba+.
23 Yemwe abatinya Yehova, nimumushemeze+!
Yemwe ruvyaro rwa Yakobo mwese, nimumuninahaze+!
Kandi mumugirire ubwoba, yemwe ruvyaro rwa Isirayeli mwese+.
Canke ngo aterwe ishishi n’amarushwa y’umurushwa+;
Kandi ntiyamuhishije mu maso hiwe+,
Kandi igihe yamutabaza yarumvise+.
25 Mw’ishengero rinini ishemezo ryanje rizoturuka kuri wewe+;
Nzoshitsa indagano zanje imbere y’abamutinya+.
26 Abatekereza bazorya bahage+;
Abamurondera bazoshemeza Yehova+.
Imitima yanyu nibeho ibihe bidahera+.
27 Impera zose z’isi zizokwibuka zigaruke kuri Yehova+.
Kandi imiryango yose y’amahanga izokwunama imbere yawe+.
-
-
Yesaya 53:1-12Bibiliya y’isi nshasha
-
-
53 Ni nde yizeye ico twebwe twumvise+? Nayo ukuboko kwa Yehova+, ni nde kwahishuriwe+? 2 Azoduga nk’agashami+ imbere y’umuntu, nk’umuzi mu gihugu kigadutse. Nta shusho y’agakomeye agira, canke ubwiza bwakaka+; kandi nitwamubona, nta sura* agira ku buryo twomwipfuza+.
3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+. 4 Vy’ukuri, indwara zacu ubwiwe yaraziremetse+; nayo imibabaro yacu, yarayikoreye+. Mugabo twebwe twamubona nk’uwatejwe ivyago+, uwakubiswe n’Imana+ kandi yatejwe amarushwa+. 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+. 6 Twese twarayerereye nk’intama+; twarahindukiye umwe wese agana inzira yiwe bwite; Yehova ubwiwe yatumye ikosa ryacu twese rihura n’uyo+. 7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+.
8 Kubera ukuzigirizwa be n’urubanza, yarakuweho+; kandi ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*+? Kuko yatandukanijwe+ n’igihugu c’abazima+. Yakubiswe+ azira ukugabitanya+ kw’abantu banje. 9 Azomuha ikibanza ciwe co guhambwamwo kumwe n’ababisha+, kumwe n’abatunzi mu rupfu rwiwe+, naho ata bukazi yari yarakoze+, kandi akaba ata buhendanyi bwari mu kanwa kiwe+.
10 Mugabo Yehova ubwiwe yarahimbawe no kumujanjagura+; yamuteye kurwara+. Niwamugira nk’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+, azobona uruvyaro rwiwe+, azorehura imisi yiwe+, kandi mu kuboko kwiwe ibihimbara+ Yehova bizokunda+. 11 Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+. 12 Ku bw’iyo mvo, nzomuha umugabane muri benshi+, kandi azogabanganya isahu kumwe n’abanyabushobozi+, kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+, agaharurwa mu bagabitanya+; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi+, aja hagati ku bw’abagabitanya+.
-