ESITERI
1 Ng’ibi ivyabaye mu misi ya Ahasuwerusi*, ni ukuvuga Ahasuwerusi umwe yaganza intara 127+, kuva mu Buhindi gushika muri Etiyopiya*. 2 Ico gihe umwami Ahasuwerusi yaganza ari ku kirimba* i Shushani*+. 3 Mu mwaka ugira gatatu aganza, yarateretse inzimano abatware biwe bose n’abantu biwe bose b’abakuru. Ingabo z’Ubuperesi+ n’Ubumedi+, abanyacubahiro n’abatware bo mu ntara zitandukanye, na bo nyene ni ho bari. 4 Yamaze imisi myinshi, imisi 180, abereka ubutunzi bwo mu bwami bwiwe buhambaye n’iteka be n’icubahiro gikomeye afise. 5 Iyo misi irangiye, umwami amara imisi indwi ateretse inzimano abantu bose, yaba umuto canke uwuhambaye. Bari ku kirimba* i Shushani*, mu kigo c’ubusitani* bw’inzu* y’umwami. 6 Hari hasharijwe n’ibitambara vyera, ivyo mw’ipampa ryiza n’ivy’ubururu, bifashwe n’imigozi yo mu gitambara ciza no mu bwoya busa n’umuyugubwe*. Vyenena ku tuntu tumeze nk’impeta two mw’ifeza dufashe ku nkingi z’amabuye meza cane*. Hari n’intebe zimeze nk’uburiri zikozwe mu nzahabu n’ifeza, ziteretse ahantu hashashe amabuye atukura, amabuye meza cane* yera n’ayirabura n’ayandi mabuye azimvye.
7 Umuvinyu bawutanga mu bikombe* vy’inzahabu kandi nta gikombe casa n’ikindi. Umwami yatanze umuvinyu mwinshi cane kuko yari afise uburyo. 8 Umwami yari yashinze ko ata we bahatira* kunywa. Yari yabwiye abakozi bo ku kirimba iwe ngo umuntu wese agire uko ashatse.
9 Umwamikazi Vashiti+ na we nyene yari yateretse inzimano abagore ku kirimba* c’umwami Ahasuwerusi.
10 Ku musi ugira indwi, umwami aryohewe kubera akavinyu kamaze kumushika, atuma Mehumani, Bizita, Harubona+, Bigita, Abagita, Zetari na Karikasi. Bari abakozi indwi bo ku kirimba bakorera imbere y’umwami Ahasuwerusi. 11 Abatuma ngo bazane umwamikazi Vashiti imbere yiwe yambaye igitambara c’umwamikazi bazingira mu mutwe*, kugira yereke ubwiza bwiwe abantu bo mu mahanga atandukanye n’abatware bari ng’aho, kuko yari mwiza cane. 12 Mugabo umwamikazi Vashiti aguma yanka kuza, kandi umwami yari yabimutegetse biciye kuri ba bakozi bo ku kirimba. Umwami aca arashavura cane ku buryo ishavu ryiwe ryaka nk’umuriro.
13 Umwami avugana rero n’abantu b’inkerebutsi bazi ingene imanza nk’izo zaciwe muri kahise*. (Ukwo ni ko ibibazo vy’umwami vyashikirizwa abahinga mu vy’amategeko no mu vy’imanza. 14 Abishikira b’umwami bari Karishena, Shetari, Adumata, Tarushishi, Meresi, Marisena na Memukani. Bari abatware indwi+ bo mu Buperesi n’Ubumedi bishikira ku mwami, bakaba bari bafise ikibanza gikomeye mu bwami.) 15 Umwami ababaza ati: «Twisunze amategeko, umwamikazi Vashiti tumugire dute ko yagararije ivyo jewe umwami Ahasuwerusi namutegetse biciye ku bakozi bo ku kirimba?»
16 Memukani aca avugira imbere y’umwami n’abatware ati: «Mwami Ahasuwerusi, si wewe gusa umwamikazi Vashiti yagiriye nabi+. Yagiriye nabi n’abatware bose n’abantu bose bo mu ntara utwara. 17 Abagore bose bazokwumva ivyo umwamikazi yakoze bitume basuzugura abagabo babo, bavuge bati: “N’umwami Ahasuwerusi yarategetse ko bazana imbere yiwe umwamikazi Vashiti, ariko aranka.” 18 Kuva uyu musi, abagore b’abatware b’Ubuperesi n’Ubumedi bazoba bumvise ivyo umwamikazi yakoze, bazoza barabwira gutyo abatware bose b’umwami. Bizotuma haba akagaye kenshi n’ishavu ryinshi. 19 Mwami Ahasuwerusi, nimba ubishimye, nusohore itegeko rivuga yuko Vashiti atazokwigera asubira kuza imbere yawe, kandi ryandikwe mu mategeko y’Ubuperesi n’Ubumedi, amwe adashobora gufutwa+. Ikibanza afise c’umwamikazi uce ugiha umugore ameze neza kumurusha. 20 Abantu bo mu karere kagutse cane utwara nibumva iryo tegeko wasohoye, abagore bose bazoza barubaha abagabo babo, baba abahambaye canke abasanzwe.»
21 Umwami n’abatware bashima ico ciyumviro, umwami aca akora ivyo Memukani avuze. 22 Nuko arungika amakete mu ntara zose atwara+, intara yose ayandikira mu nyandiko yayo*, umugwi wose w’abantu awandikira mu rurimi rwawo. Ayo makete yavuga ko umugabo wese ari we mutware* mu rugo rwiwe kandi ko akwiye kuvuga ururimi rw’iwabo*.
2 Inyuma y’ivyo, uburake bw’umwami Ahasuwerusi+ bumaze kugabanuka, yibuka ivyo Vashiti yari yakoze+ n’ingingo yari yafatiwe+. 2 Nuko abakozi bakorera imbere y’umwami bamubwira bati: «Mwami, dukwiye kukuronderera abigeme bezabeza kandi b’isugi. 3 Mwami, nugene ivyariho mu ntara zose z’akarere utwara+, maze barondere abigeme bezabeza bose b’isugi, babakoranirize ku kirimba* i Shushani* ku nzu y’abagore. Bace babazeza Hegayi+ inkone y’umwami akaba n’umurinzi w’abagore, babahe n’ivyo kwisiga* kugira barushirize gusa neza. 4 Umwigeme azoguhimbara kuruta abandi bose ni we azoca aba umwamikazi mu kibanza ca Vashiti+.» Umwami ashima ico ciyumviro, aca abigenza ukwo nyene.
5 Ku kirimba* i Shushani*+, hari umugabo w’Umuyuda yitwa Morudekayi+. Yari umuhungu wa Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi umuhungu w’Umubenyamini+ yitwa Kishi. 6 Yari mu bakuwe i Yeruzalemu bajanwa mu bunyagano igihe Nebukadinezari umwami wa Babiloni yatwara Yekoniya*+ umwami w’Ubuyuda mu bunyagano. 7 Uwo Morudekayi yari umurezi wa Hadasa*, ari we Esiteri, umukobwa wa sewabo+. Uwo mwigeme ntiyagira se canke nyina. Yari mwiza akagira n’umutumba uteye neza. Igihe se na nyina bapfa, Morudekayi yaciye amutwara amurera nk’umukobwa wiwe. 8 Nuko batangaza ivyo umwami yavuze n’itegeko yashinze, maze abigeme bakoranirizwa ku kirimba* i Shushani*, babazeza Hegayi+. Esiteri na we nyene baramujanye ku kirimba*, bamuzeza Hegayi wa murinzi w’abagore.
9 Hegayi ashima uwo mwigeme, yumva aramukunze*. Ubwo nyene aca amuronderera ivyo azoza arisiga* ngo arushirize gusa neza+, atunganya n’uko azoza araronka ibifungurwa bidasanzwe. Amuronderera n’abigeme indwi bo kumwitwararika abakuye mu nzu y’umwami. Maze we n’abo bigeme abimurira mu kibanza ciza kuruta ibindi vyose vyo mu nzu y’abagore. 10 Esiteri nta na kimwe yavuze ku bijanye n’ihanga yavamwo+ canke ab’iwabo, kuko Morudekayi+ yari yaramubujije kugira uwo abibwiye+. 11 Buri musi, Morudekayi yaratembera imbere y’ikigo c’inzu y’abagore kugira amenye uko Esiteri amerewe n’ingene ivyiwe vyifashe.
12 Umwigeme wese yararamukirwa kwinjira aho umwami Ahasuwerusi ari, amaze amezi 12 yitunganya nk’uko abigeme bose basabwa. Uku ni ko bitunganya: bamara amezi atandatu bisiga amavuta y’imira*+, n’ayandi mezi atandatu bisiga* amavuta ava mu biterwa bimota neza*+ be n’ayandi mavuta atuma barushiriza gusa neza*. 13 Ico kiringo kirangiye, umwigeme yarashobora guca yinjira aho umwami ari. Hageze ko ava mu nzu y’abagore ngo aje mu nzu y’umwami, ico yasaba cose barakimuha. 14 Yajayo ku mugoroba, mu gatondo agasubira mu nzu y’abagore igira kabiri yari ihagarikiwe na Shayashigazi inkone y’umwami+ akaba n’umurinzi w’incoreke. Uwo mwigeme ntiyasubira kuja iyo umwami ari, kiretse umwami yamushimye bimwe bidasanzwe kandi akamutumako amuvuze izina+.
15 Esiteri ashikiriwe kuja iyo umwami ari, nta na kimwe yasavye kiretse ivyo yabwiwe na Hegayi inkone y’umwami akaba n’umurinzi w’abagore. Esiteri yari umukobwa wa Abihayili sewabo wa Morudekayi, umwe yamurera nk’umukobwa wiwe+. (Ico gihe cose, uwabona Esiteri wese yumva amukunze.) 16 Esiteri yajanywe mu nzu y’umwami Ahasuwerusi mu kwezi kugira cumi kwitwa Tebeti*. Hari mu mwaka ugira indwi+ ari umwami. 17 Nuko umwami agomwa Esiteri kuruta abandi bagore bose, aramushima, aramukunda* kuruta abandi bigeme b’isugi bose. Umwami aca amwambika igitambara c’umwamikazi bazingira mu mutwe*, amugira umwamikazi+ mu kibanza ca Vashiti+. 18 Maze umwami atereka inzimano ikomeye abatware biwe bose n’abantu biwe b’abakuru kubera Esiteri. Araheza atanga ikigongwe c’ikivunga mu ntara zitandukanye yatwara, atanga n’ingabire kuko yari atunze.
19 Morudekayi yari yicaye kw’irembo ry’i bwami* igihe abigeme b’isugi*+ bakoranirizwa hamwe ubugira kabiri. 20 Nta na kimwe Esiteri yavuze ku bijanye n’ab’iwabo n’igihugu avamwo+, nk’uko Morudekayi yari yabimusavye. Esiteri yabandanije gukora ivyo Morudekayi yamubwira, kurya nyene yabigira igihe yari akimureze+.
21 Muri iyo misi nyene, igihe Morudekayi yari yicaye kw’irembo ry’i bwami, Bigitana na Tereshi barashavuye bategura umugambi wo kwica umwami* Ahasuwerusi. Abo babiri bari abarinzi b’imiryango bakorera ku kirimba c’umwami. 22 Morudekayi arabimenya, aca abibwira umwamikazi Esiteri, Esiteri na we abibwira umwami mw’izina rya Morudekayi*. 23 Baciye babitohoza basanga ni vyo, maze abo bagabo bompi bamanikwa ku giti. Vyaciye vyandikwa mu gitabu kivuga ivyabaye muri ivyo bihe, vyandikirwa imbere y’umwami+.
3 Inyuma y’ivyo, umwami Ahasuwerusi aduza igiti Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amuha ubukuru* buruta ubw’abandi batware bagenziwe bose+. 2 Abakorera umwami bose kw’irembo ry’i bwami baza barunamira Hamani bagashika hasi, kuko ari vyo umwami yari yategetse. Mugabo Morudekayi we, ntiyamwunamira canke ngo amwikubite imbere. 3 Abo bakorera umwami bari kw’irembo ry’i bwami babwira Morudekayi bati: «Kubera iki urenga kw’itegeko ry’umwami?» 4 Ku musi ku musi barabimubaza ariko ntabumvirize. Baraheza babibwira Hamani kugira barabe ko azokwihanganira iyo nyifato ya Morudekayi+, kuko Morudekayi yari yarababwiye ko ari Umuyuda+.
5 Aho Hamani amariye kubona ko Morudekayi yanka kumwunamira no kumwikubita imbere, aca arashavura cane+. 6 Mugabo Hamani abona ko kwica Morudekayi* wenyene bidahagije, kuko bari bamubwiye ihanga avamwo. Atangura rero kurondera ingene yozimanganya Abayuda bose bari mu karere kose Ahasuwerusi atwara, ni ukuvuga abantu bose bo mw’ihanga Morudekayi avamwo.
7 Mu kwezi kwa mbere kwitwa Nisani*, mu mwaka ugira 12+ umwami Ahasuwerusi aganza, bagira Puri+ (ni ukuvuga ubupfindo) imbere ya Hamani kugira bamenye umusi n’ukwezi ivyo bizobera. Ubwo bupfindo bwaciye bugwa mu kwezi kwa 12 kwitwa Adari*+. 8 Hamani aca abwira umwami Ahasuwerusi ati: «Hari umugwi w’abantu bakwiragiye hirya no hino mu mahanga+ ari mu ntara zose zo mu karere utwara+. Amategeko yabo aratandukanye n’ay’ayandi mahanga yose, kandi ntibubaha amategeko y’umwami. Ntubareke ukwo mwami, kuko vyohava bikugirira nabi. 9 Nimba ubishimye mwami, nusohore itegeko ryanditse rivuga ko bahonywa. Nanje nzoheza mpe italanto* 10.000 z’ifeza abagukorera kugira bazishire mu kigega c’umwami*.»
10 Umwami aca yambura impeta y’ikidodo+ yari yambaye ku kuboko, ayiha Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, umwe yanka Abayuda. 11 Maze umwami abwira Hamani ati: «Ifeza* n’abantu urabihawe kugira ubikoreshe ico ushaka.» 12 Ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa mbere, abanyamabanga b’umwami+ baciye batumwako. Maze bandika amategeko+ yose Hamani yipfuza guha ivyegera vy’umwami, ba buramatari batwara intara zitandukanye n’abatware b’imigwi itandukanye y’abantu. Intara yose bayandikiye mu nyandiko yayo*, umugwi wose w’abantu bawandikira mu rurimi rwawo. Bavyanditse mw’izina ry’umwami Ahasuwerusi, bashirako n’ikidodo bakoresheje impeta y’umwami+.
13 Amakete banditse bayarungitse mu ntara zose umwami aganza, biciye ku batwara amakete. Ayo makete yatanga itegeko ryo kuzimanganya, kwica no guhonya Abayuda bose, yaba umuto canke umutama, umwana canke umugore. Bategerezwa kubica ku musi umwe, ni ukuvuga ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa 12 kwitwa Adari+, bakigarurira n’ibintu vyabo+. 14 Ibiri muri ayo makete vyagizwe itegeko mu ntara zose, bitangarizwa n’abantu bose kugira ngo bitegurire uwo musi. 15 Abatwara amakete baca bayatwara bihuta+ bisunze ivyo umwami yavuze. Iryo tegeko ryatangiwe ku kirimba* i Shushani*+. Umwami na Hamani baca baricara barinywera, mugabo igisagara ca Shushani cari mu ruhagarara.
4 Morudekayi+ amenye ibintu vyose vyabaye+, yitaburirako impuzu maze yambara igunira, yiyorerako n’iminyota. Araheza aja hagati mu gisagara aboroga cane kandi atuntuye. 2 Maze araza agarukira kw’irembo ry’i bwami, kuko ata n’umwe yashobora kuricamwo yambaye igunira. 3 Kandi mu ntara zose+ itegeko ry’umwami ryashitsemwo, Abayuda bari mu mubabaro mwinshi n’ukwisonzesha+ n’amarira n’amaborogo. Benshi baryama ku magunira no mu minyota+. 4 Abigeme bakorera umwamikazi Esiteri n’inkone zimukorera baza kubimubwira, aca arababara cane. Maze arungikira Morudekayi impuzu kugira ngo akure iryo gunira, azambare. Ariko arazanka. 5 Esiteri aca ahamagara Hataki, amutegeka kuja kubaza Morudekayi ivyo bintu ivyo ari vyo n’icabiteye. Hataki yari umwe mu nkone z’umwami. Umwami yari yaramugenye ngo akorere Esiteri.
6 Hataki aca aja kuraba Morudekayi mu kibanza rusangi co mu gisagara carabana n’irembo ry’i bwami. 7 Maze Morudekayi amumenyesha ivyamushikiye vyose n’igitigiri nyezina c’amahera+ Hamani yari yemeye gushira mu kigega c’umwami kugira ngo Abayuda bahonywe+. 8 Amuha n’ikete ryanditswemwo rya tegeko ryari ryasohowe i Shushani*+ ryo kubazimanganya. Hataki yategerezwa kuriha Esiteri akamusigurira ivyaryo, kandi akamubwira+ ngo aje gutakambira umwami, amwinginge kugira atabare abo mw’ihanga avamwo.
9 Hataki agarutse, amenyesha Esiteri ivyo Morudekayi yamubwiye. 10 Maze Esiteri abwira Hataki ngo aje kubwira Morudekayi+ ati: 11 «Abakorera umwami bose n’abantu bo mu ntara zose atwara barazi yuko iyo hagize umugabo canke umugore yinjira mu kigo c’indani c’umwami+ atahamagawe, hari itegeko rimwe gusa rica rikora: aca yicwa. Umwami amutunze agakoni k’ubwami k’inzahabu+ ni ho gusa aticwa. Kandi maze imisi 30 ntahamagarwa n’umwami.»
12 Morudekayi yumvise ivyo Esiteri avuze, 13 amwishura ati: «Ntiwiyumvire yuko mu Bayuda bose ari wewe uzorusimba ngo ni uko uri uwo mu rugo rw’umwami. 14 Niwaguma winumiye muri uyu mwanya, Abayuda bazotabarwa barokorwe biciye ahandi+, mugabo wewe n’abo mu muryango wa so muzoyogera. Aho ntiwosanga icatumye uba umwamikazi ari ukugira uhaseruke mu gihe nk’iki+?»
15 Esiteri yishura Morudekayi ati: 16 «Genda ukoranye Abayuda bose b’i Shushani* maze mwisonzeshe+ ku bwanje. Mumare imisi itatu ata co murya ata n’ico munywa+, haba mw’ijoro canke ku murango. Na jewe n’abigeme bankorera tuzokwisonzesha. Nzoheza nje iyo umwami ari, naho biteye kubiri n’amategeko. Nimba ari ugupfa, mpfe nta kundi.» 17 Morudekayi aca aragenda, akora ivyo Esiteri amubwiye vyose.
5 Nuko ku musi ugira gatatu+, Esiteri yambara impuzu z’umwamikazi, hanyuma ahagarara mu kigo c’indani c’ikirimba* aharabana n’inzu umwami yabamwo. Umwami yari yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami mu nzu iwe, aharabana n’ubwinjiriro. 2 Umwami akimara kubona umwamikazi Esiteri aho ahagaze mu kigo, araryoherwa maze amutunga agakoni k’ubwami k’inzahabu+ yari afise mu kuboko. Esiteri aca aregera, akora kw’isonga ry’ako gakoni.
3 Umwami amubaza ati: «Wipfuza iki ga mwamikazi Esiteri? Hari ico ushaka gusaba? Naho coba ica kabiri c’ubwami bwanje, uragihabwa.» 4 Esiteri yishura ati: «Nimba ubishimye mwami, uze kuzanana na Hamani+ uyu musi ku nzimano naguteguriye.» 5 Nuko umwami abwira abantu biwe ati: «Nimubwire Hamani anyaruke nk’uko Esiteri abisavye.» Nuko umwami na Hamani baja ku nzimano Esiteri yari yateguye.
6 Igihe bariko baranywa umuvinyu kuri izo nzimano, umwami abwira Esiteri ati: «Wipfuza iki? Vuga uragihabwa. Hari ico ushaka gusaba? Naho coba ica kabiri c’ubwami bwanje, ndakiguha+.» 7 Esiteri yishura ati: «Ico nipfuza n’ico nshaka gusaba ni iki: 8 nimba ubona ko ndaguhimbara mwami, kandi ukaba ushima kumpa ico nipfuza no gukora ivyo ngusavye, ndakwinginze wewe na Hamani ejo muzoze ku nzimano nzoba nabateguriye. Nzoheza ndakubwire ivyo nipfuza kugusaba.»
9 Uwo musi, Hamani yasubiye iwe anezerewe kandi aryohewe mu mutima. Mugabo akubise ijisho Morudekayi kw’irembo ry’i bwami, akabona yuko atahagurutse canke ngo ajugumire amubonye, aca aramushavurira cane+. 10 Ariko Hamani arigumya, arataha. Maze atumako abagenzi biwe n’umugore wiwe Zereshi+. 11 Hamani atangura kwihaya kubera ubutunzi bwinshi n’abahungu benshi yari afise+, no kubera ko umwami yari yamudugije igiti, akamuha ubukuru buruta ubw’abandi batware n’abandi bose bakorera umwami+.
12 Hamani yongerako ati: «N’ikindi kandi, ni jewe gusa umwamikazi Esiteri yatumiye ngo njane n’umwami ku nzimano yateguye+. Kandi n’ejo yantumiye ngo nzojane n’umwami+. 13 Mugabo ivyo vyose nta co bivuze nkibona wa Muyuda Morudekayi yicaye kw’irembo ry’i bwami.» 14 Umugore wiwe Zereshi n’abagenzi biwe bose baca bamubwira bati: «Tegeka bashinge igiti kireha n’intambwe* 50* maze ejo mu gitondo uzobwire umwami bakimanikeko Morudekayi+. Uzoheza ujane n’umwami ku nzimano, uryoherwe.» Hamani yumva ko ico ciyumviro ari ciza, maze ategeka ko bashinga ico giti.
6 Muri iryo joro umwami abura itiro*. Ategeka rero ko bazana igitabu canditswemwo ivyabaye muri ivyo bihe+, maze barakimusomera. 2 Basanga muri ico gitabu handitswemwo ivyo Morudekayi yari yarahishuye ku vyerekeye Bigitana na Tereshi, ba barinzi babiri b’imiryango bo ku kirimba c’umwami barondera kwica umwami* Ahasuwerusi+. 3 Umwami aca abaza ati: «Morudekayi yoba yaratewe iteka canke ngo ashimirwe ku bw’ico kintu yakoze?» Abakozi bo ku kirimba* bakorera imbere y’umwami bamwishura bati: «Nta kintu na kimwe yagiriwe.»
4 Mu nyuma umwami avuga ati: «Ni nde ari mu kigo?» Ico gihe Hamani yari ku kirimba mu kigo c’inyuma+, aje kubwira umwami ibijanye no kumanika Morudekayi ku giti yari yamuteguriye+. 5 Ba bakozi bakorera umwami bamubwira bati: «Hamani+ ni we ari mu kigo.» Umwami aca avuga ati: «Niyinjire.»
6 Hamani yinjiye, umwami amubaza ati: «Umuntu umwami yipfuza gutera iteka bomukorera iki?» Hamani aca yibwira mu mutima ati: «Hari uwundi umwami yokwipfuza gutera iteka atari jewe+?» 7 Hamani rero yishura umwami ati: «Umuntu umwami yipfuza gutera iteka, 8 nibamuzanire impuzu+ umwami yambara n’ifarasi umwami agenderako. Bayizane bayambitse urugori* rwa cami ku mutwe. 9 Iyo mpuzu y’umwami n’iyo farasi bace babiha umwe mu batware b’umwami b’abanyacubahiro, maze wa muntu umwami yipfuza gutera iteka bayimwambike, baheze bamutembereze kuri iyo farasi mu kibanza rusangi c’igisagara. Bagende barasemerera imbere yiwe bati: “Uku ni ko bagirira umuntu umwami yipfuza gutera iteka+.”» 10 Umwami aca abwira Hamani ati: «Tora rero ningoga iyo mpuzu n’iyo farasi, maze ivyo nyene uvuze ubigirire wa Muyuda Morudekayi yicaye kw’irembo ry’i bwami. Mu vyo uvuze vyose ntihagire na kimwe udakora.»
11 Hamani aca atora iyo mpuzu n’iyo farasi, yambika Morudekayi+ maze amutembereza mu kibanza rusangi c’igisagara, agenda arasemerera imbere yiwe ati: «Uku ni ko bagirira umuntu umwami yipfuza gutera iteka.» 12 Inyuma y’ivyo Morudekayi asubira kw’irembo ry’i bwami. Mugabo Hamani anyaruka gusubira iwe, ababaye cane, yitwikiriye umutwe. 13 Hamani aca yiganira umugore wiwe Zereshi+ n’abagenzi biwe bose ivyamushikiye vyose. Abajanama* biwe n’umugore wiwe Zereshi baca bamubwira bati: «Morudekayi atanguye kugutsinda. Nimba akomoka mu Bayuda* ntuzomunesha, ahubwo ni wewe uzoneshwa ata kabuza.»
14 Bakiriko baravugana, abakozi bo ku kirimba bakorera umwami barashika hanyuma batwara Hamani ningoga ku nzimano Esiteri yari yateguye+.
7 Maze umwami na Hamani+ bashika ku nzimano umwamikazi Esiteri yabateguriye. 2 Kuri uwo musi ugira kabiri w’inzimano, bariko baranywa umuvinyu, umwami yongera kubaza Esiteri ati: «Wipfuza iki ga mwamikazi Esiteri? Vuga uragihabwa. Hari ico ushaka gusaba? Naho coba ica kabiri c’ubwami bwanje, ndakiguha+.» 3 Umwamikazi Esiteri aca yishura ati: «Nimba ubona ko ndaguhimbara mwami, kandi ukaba ubishimye, nipfuza yuko ukiza ubuzima bwanje. Nshaka kandi kugusaba ngo utabare abo mw’ihanga mvamwo+. 4 Twe n’abo mw’ihanga mvamwo twaragurishijwe+ kugira tuzimanganywe, twicwe, duhonywe+. Iyo tuba twagurishijwe kugira tube abashumba n’abasukukazi gusa, nari kwinumira. Mugabo ibi vyago ukwiye kubihagarika mwami, kuko nawe uzohahombera.»
5 Nuko umwami Ahasuwerusi abwira umwamikazi Esiteri ati: «Uwo ni nde yubahutse kugira ivyo? Ari hehe?» 6 Esiteri yishura ati: «Uwo mwansi aturwanya ni uyu mugesera Hamani.»
Hamani aca atekerwa n’ubwoba kubera umwami n’umwamikazi. 7 Nuko umwami araraka, aca ava aho bariko barazimanirwa umuvinyu, aja mu busitani* bw’ikirimba. Hamani na we arahaguruka ngo atakambire umwamikazi Esiteri amusaba ngo ntiyicwe, kuko yabona ko umwami yiyemeje kumuhana. 8 Maze umwami ava mu busitani bw’ikirimba, agaruka aho bariko barazimanirwa umuvinyu. Aca asanga Hamani yitereye ku ntebe Esiteri yari yicayeko imeze nk’uburiri. Umwami aca avuga ati: «Mbega wa mugabo agomba ubu na ho afate ku nguvu umwamikazi mu nzu yanje?» Umwami akimara kuvuga ayo majambo, baca bapfuka Hamani mu maso. 9 Umwe mu bakozi b’umwami bo ku kirimba yitwa Harubona+, aca avuga ati: «Hariho n’igiti Hamani yateguye co kumanikako Morudekayi+, umwe yatanze amakuru yakijije umwami+. Gishinze muhira kwa Hamani, kikaba kireha n’intambwe* 50*.» Umwami aca avuga ati: «Kimumanikeko.» 10 Baca bamanika Hamani kuri ico giti yari yateguriye Morudekayi, uburake bw’umwami bubona guhwama.
8 Kuri uwo musi, umwami Ahasuwerusi aha umwamikazi Esiteri ibintu vyose vyo mu rugo rwa Hamani+, wa mwansi w’Abayuda+. Maze Morudekayi aza imbere y’umwami, kuko Esiteri yari yahishuye ico bapfana+. 2 Nuko umwami akura ya mpeta yiwe y’ikidodo+ yari yatse Hamani, ayiha Morudekayi. Hanyuma Esiteri azeza Morudekayi ibintu vyose vyo mu rugo rwa Hamani+.
3 Vyongeye, Esiteri asubira kuvugana n’umwami. Yaraje yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ararira, aramutakambira ngo ahagarike ikibi ca Hamani Umwagagi n’umugambi yari yarateguye wo kugirira nabi Abayuda+. 4 Maze umwami atunga Esiteri agakoni k’ubwami k’inzahabu+, Esiteri aca arahaguruka, ahagarara imbere y’umwami. 5 Hanyuma avuga ati: «Nimba uvyemeye mwami kandi ukaba ubona ko ndaguhimbara, nimba ubona ko bibereye kandi ukaba unshima, ndagusavye handikwe itegeko rivuguruza amakete ya wa mugambi wa Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, amwe yandika kugira ngo ahonye Abayuda bari mu ntara zose utwara. 6 Ahandiho, sinoshobora kuraba ivyago bizoshikira abo mw’ihanga mvamwo, canke ngo nitegereze ingene ab’iwacu bahonywa.»
7 Umwami Ahasuwerusi aca abwira umwamikazi Esiteri na wa Muyuda Morudekayi ati: «Ibintu vyose vyo mu rugo rwa Hamani nabihaye Esiteri+, Hamani na we ndamumanikisha ku giti+, kubera umugambi yari yateguye wo gutera* Abayuda. 8 Nimwandike rero mw’izina ryanje ivyo mubona ko vyofasha Abayuda. Muheze mubishireko ikidodo mukoresheje impeta yanje, kuko itegeko ryanditswe mw’izina ry’umwami rigashirwako ikidodo c’impeta yiwe ridashobora kuvuguruzwa+.»
9 Nuko ku musi ugira 23 w’ukwezi kwa gatatu kwitwa Sivani*, abanyamabanga b’umwami barahamagarwa. Maze bandika amategeko yose Morudekayi yipfuza guha Abayuda, ivyegera vy’umwami+, ba buramatari n’abatware bo mu ntara zitandukanye+, kuva mu Buhindi gushika muri Etiyopiya, ni ukuvuga intara 127. Intara imwimwe yose bayandikiye mu nyandiko* yayo, umugwi wose w’abantu bawandikira mu rurimi rwawo, n’Abayuda babandikira mu nyandiko* yabo no mu rurimi rwabo.
10 Morudekayi yanditse iryo tegeko mw’izina ry’umwami Ahasuwerusi, arishirako ikidodo akoresheje impeta y’umwami+, maze arungikana amakete abayatwara bari ku mafarasi. Yari amafarasi anyaruka yororewe mu ruhongore rw’umwami akaba yakoreshwa mu vyo gutwara ubutumwa. 11 Muri ayo makete, umwami yahaye Abayuda bari mu bisagara vyose bitandukanye uburenganzira bwo kuja hamwe bakirwanira. Bahawe n’uburenganzira bwo kuzimanganya, kwica no guhonya ingabo zose z’umugwi kanaka w’abantu canke intara kanaka zobatera, harimwo n’abagore n’abana, bakigarurira n’ibintu vyabo+. 12 Ivyo vyobereye ku musi umwe, mu ntara zose umwami Ahasuwerusi atwara, ni ukuvuga ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa 12 kwitwa Adari*+. 13 Ivyanditswe muri ayo makete vyagizwe itegeko mu ntara zose. Iryo tegeko ryategerezwa gutangazwa mu bantu bose kugira Abayuda bitegurire uwo musi, bivune abansi babo+. 14 Bamwe batwara amakete bari ku mafarasi abigenewe yakoreshwa mu bikorwa vy’umwami, baciye bagenda ubwo nyene bihuta bisunze ivyo umwami avuze. Iryo tegeko ryasohowe ryaratanzwe no ku kirimba* i Shushani*+.
15 Morudekayi ava imbere y’umwami arasohoka. Yari yambaye impuzu ya cami ifise ibara ry’ubururu n’iryera, yambaye n’urugori rw’igitangaza rw’inzahabu be n’umutamana wo mu gitambara ciza c’ubwoya busa n’umuyugubwe*+. Mu gisagara i Shushani* biha akamo k’umunezero. 16 Abayuda baciye biruhutsa*, bagira umunezero, barigina kandi barubahwa. 17 Mu ntara zose no mu bisagara vyose, ahantu hose ivyo umwami yategetse vyashitse, Abayuda baranezerewe, barigina, bitereka inzimano bagira n’imisi mikuru. Abantu benshi bo muri ico gihugu bari basigaye biyita Abayuda kubera ukubatinya+.
9 Umusi ugira 13 w’ukwezi kwa 12 kwitwa Adari*+, ni wo musi ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyari gushirwa mu ngiro+. Uwo musi abansi b’Abayuda bari biteze kubanesha, mugabo vyarahindutse Abayuda baba ari bo batsinda ababanka+. 2 Abayuda baragiye hamwe mu bisagara babamwo mu ntara zose umwami Ahasuwerusi+ yatwara, kugira bivune abarondera kubagirira nabi. Nta muntu n’umwe yashoboye kubahangara kuko abantu bose bari basigaye babatinya+. 3 Nuko abatware bose bo mu ntara zitandukanye, ivyegera vy’umwami+, ba buramatari n’abakora ibikorwa vy’umwami, bashigikira Abayuda kuko batinya Morudekayi. 4 Morudekayi yari asigaye ari umuntu akomeye+ ku kirimba*. Yaguma aba rurangiranwa mu ntara zose kubera ko yagenda akomera cane.
5 Abayuda bicisha inkota abansi babo bose, barabica barabahonya. Babagiriye ivyo bashaka vyose+. 6 Ku kirimba* i Shushani*+, Abayuda bishe abagabo 500 barabahonya. 7 Bishe na Parishanidata, Dalufoni, Asupata, 8 Porata, Adaliya, Aridata, 9 Parumashita, Arisayi, Aridayi na Vayizata. 10 Abo bari abahungu cumi ba Hamani mwene Hamedata, wa mwansi w’Abayuda+. Mugabo bamaze kubica bose, nta na kimwe babasahuye+.
11 Kuri uwo musi umwami amenyeshwa igitigiri c’abishwe ku kirimba* i Shushani*.
12 Maze umwami abwira umwamikazi Esiteri ati: «Ku kirimba* i Shushani* Abayuda bishe abagabo 500 na ba bahungu cumi ba Hamani, barabahonya. Mu zindi ntara ntwara vyagenze gute+? Ubu na ho wipfuza iki? Vuga, uragihabwa. Hari ikindi ushaka gusaba? Kivuge ndakiguha.» 13 Esiteri yishura ati: «Nimba ubishimye mwami+, niwemerere Abayuda bari i Shushani* n’ejo nyene baze bisunge itegeko ry’uyu musi+, abahungu cumi ba Hamani na bo bamanikwe ku giti+.» 14 Umwami aca ashinga ko bikorwa gutyo nyene. I Shushani* harasohowe itegeko, ba bahungu cumi ba Hamani na bo baramanikwa.
15 Abayuda bari i Shushani* bongera kuja hamwe ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa Adari+, bica abagabo 300 i Shushani mugabo nta na kimwe babasahuye.
16 Abandi Bayuda bari mu ntara zose umwami atwara na bo nyene baragiye hamwe barirwanira+. Barikuyeko abansi babo+, bica 75.000 muri bo, mugabo nta na kimwe babasahuye. 17 Ivyo vyabaye ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa Adari, maze ku musi ugira 14 bararuhuka, bawugira umusi w’inzimano no kunezerwa.
18 Abayuda bari i Shushani* bagiye hamwe ku musi ugira 13+ n’uwugira 14+, baruhuka ku musi ugira 15, baca bawugira umusi w’inzimano no kunezerwa. 19 Mugabo Abayuda bo mu bisagara vyo hagati mu gihugu mu ntara za kure, umusi ugira 14 w’ukwezi kwa Adari ni wo bagize umusi wo kunezerwa n’uw’inzimano, bawugira umusi mukuru+, umusi wo kugemuriranira ivyo kurya+.
20 Ivyo bintu vyabaye, Morudekayi+ yaravyanditse maze arungikira amakete Abayuda bose baba mu ntara zose umwami Ahasuwerusi atwara, zaba iza hafi canke iza kure. 21 Abategeka ko buri mwaka mu kwezi kwa Adari, bazokwama bahimbaza umusi ugira 14 n’uwugira 15, 22 kubera ko kuri iyo misi ari ho Abayuda baruhutse abansi babo, muri ukwo kwezi intuntu yabo igahinduka umunezero, bakava mu mubabaro+ bakaja mu musi mukuru. Bategerezwa kuyihimbaza nk’imisi y’inzimano no kunezerwa, ikaba imisi yo kugemuriranira ivyo kurya no guha ingabire abakene.
23 Abayuda bumvikana kubandanya bahimbaza uwo musi mukuru bari batanguye no gukurikiza ivyo Morudekayi yari yabandikiye. 24 Gutyo, bokwamye bibuka ko Hamani+ mwene Hamedata Umwagagi+, wa mwansi w’Abayuda bose, yari yateguye umugambi wo guhonya Abayuda+, akagira na Puri+, ni ukuvuga ubupfindo, kugira abadurumbanye yongere abahonye. 25 Mugabo aho Esiteri aziye imbere y’umwami, umwami yaciye asohora itegeko ryanditse+ ati: «Umugambi wiwe wo kugirira nabi Abayuda+ nugaruke ku gatwe kiwe.» Nuko we n’abahungu biwe babamanika ku giti+. 26 Ni co catumye iyo misi bayita Purimu, bafatiye kw’izina Puri*+. Ku bw’ivyo, bisunze ibintu vyose Morudekayi yari yanditse muri iryo kete, ivyo biboneye n’ivyabashikiye, 27 Abayuda baciye biyemeza ko buri mwaka, bo n’ababakomokako n’abo bose bazokwifatanya na bo+, batazokwigera bareka guhimbaza iyo misi ibiri kuri ayo matariki yashinzwe no gukurikiza ivyanditswe ku bijanye na yo. 28 Iyo misi yabwirizwa kwibukwa no guhimbazwa uko urunganwe* rwogiye rurakurikira urundi, igahimbazwa mu miryango yose, mu ntara zose no mu bisagara vyose. Abayuda ntibokwigeze bareka guhimbaza iyo misi ya Purimu, n’ababakomokako bokwamye bayihimbaza.
29 Nuko umwamikazi Esiteri na wa Muyuda Morudekayi bakoresha ububasha bwose bafise, bandika ikete rigira kabiri rijanye na Purimu kugira bavyemeze. Esiteri yari umukobwa wa Abihayili. 30 Maze Morudekayi arungikira ayo makete Abayuda bose baba muri za ntara 127+ Ahasuwerusi yatwara+, akaba yarimwo amajambo y’amahoro n’ay’ukuri. 31 Kwari ukugira ngo wa Muyuda Morudekayi yemeze ihimbazwa ry’iyo misi ya Purimu kuri ya matariki yashinzwe, nk’uko we n’umwamikazi Esiteri bari babibategetse+. Abayuda na bo nyene bari biyemeje* ko bo n’ababakomokako bazobikurikiza+, bagashirako n’ukwisonzesha+ be n’ugutakamba+. 32 Itegeko rya Esiteri ryaremeje ivyo bintu bijanye na Purimu+, riraheza ryandikwa mu gitabu.
10 Umwami Ahasuwerusi yarategetse ko abantu bo mu gihugu n’ababa mu mazinga yo mu kiyaga bakora ibikorwa vy’agahato.
2 Ibintu vyose bikomeye yakoze, ububasha yerekanye n’ido n’ido ry’ubukuru umwami yahaye Morudekayi+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe+ c’abami b’Ubumedi n’Ubuperesi+. 3 Uwo Muyuda Morudekayi yagira kabiri ku mwami Ahasuwerusi. Yari umuntu ahambaye* mu Bayuda kandi benewabo bose uko ari isinzi baramwubaha. Yaharanira ineza y’abo mw’ihanga iwabo, akarondera n’ineza y’ababakomotseko* bose.
Vyiyumvirwa ko ari Zerusi wa mbere, umuhungu wa Dariyo mukuru (Dariyo Isitasipo).
Canke «Kushi.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Ubusitani ni umurima uteyemwo ibiti n’amashurwe.
Canke «bwo ku kirimba.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «amabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.
Canke «amabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.
Canke «mu vyombo.»
Canke «babuza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Canke «igisharizo c’umwamikazi.»
Canke «bari bazi ingene ibintu bitunganywa.» Mu giheburayo havuga ngo «bari bazi ibihe.»
Canke «mu ndome zayo.»
Canke «ari umuganwa.»
Bishobora kuba bisigura ko ururimi rw’umugabo ari rwo bategerezwa kuvuga mu muryango, mu gihe urw’umugore rwaba rutandukanye n’urw’umugabo.
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Canke «babasige.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Mu 2Bm 24:8 yitwa Yehoyakini.
Iryo zina rikomoka kw’ijambo «umuhadasi.» Umuhadasi ni agati k’amababi ayagayaga n’amashurwe yera amota.
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»
Canke «amukunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ivyo bazomusiga.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «babasiga.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «babasiga n’ibindi bisigwa abagore.»
Raba Inyongera ya B15.
Canke «amukunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «igisharizo c’umwamikazi.»
Biboneka ko Morudekayi yakorera ku kirimba.
Canke «inkumi.»
Mu giheburayo havuga ngo «gushorera ukuboko ku mwami.»
Canke «atumwe na Morudekayi.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «gushorera ukuboko kuri Morudekayi.»
Raba Inyongera ya B15.
Raba Inyongera ya B15.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nanje nzotanga italanto 10.000 z’ifeza zije mu kigega c’umwami kugira zihabwe abazokora ico gikorwa.»
Zishobora kuba ari ifeza yari gusahura Abayuda.
Canke «mu ndome zayo.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Canke «Suza.»
Canke «Suza.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’umwami.»
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.
Ni nk’imetero 22,3. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «agatiro k’umwami karahunga.»
Mu giheburayo havuga ngo «gushorera ukuboko ku mwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»
Canke «igisharizo co ku mutwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ava mu rubuto rw’Abayuda.»
Ubusitani ni umurima uteyemwo ibiti n’amashurwe.
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.
Ni nk’imetero 22,3. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «kubera yari yatumye ukuboko ngo agirire nabi.»
Raba Inyongera ya B15.
Canke «mu ndome.»
Canke «mu ndome.»
Raba Inyongera ya B15.
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «Suza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku Bayuda haba umuco.»
Raba Inyongera ya B15.
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’umwami.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»
Canke «Suza.»
Canke «Suza.»
Canke «Suza.»
Canke «Suza.»
Canke «Suza.»
Izina «Puri» risobanura «ubupfindo.» Mu bwinshi ni «Purimu.» Purimu ryahavuye riba izina ry’umusi mukuru Abayuda bahimbaza mu kwezi kugira 12 ku kirangamisi cabo ceranda. Raba Inyongera ya B15.
Canke «iyaruka.»
Canke «bishingiye itegeko.»
Canke «yaremerwa cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «akavugira amahoro y’uruvyaro rwabo.»