Rusi
1 Nuko mu misi abacamanza+ bashitsa ubutungane, ikigoyi+ kiratera mu gihugu, maze umugabo umwe ava i Betelehemu+ muri Yuda kugira aje kuba mu turere twa Mowabu+ ari kavamahanga, we hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri. 2 Uyo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe babiri na bo bitwa Mahiloni na Kiliyoni. Bari Abanyefurata+ b’i Betelehemu muri Yuda. Amaherezo bashika mu turere twa Mowabu, maze bagumayo.
3 Mu nyuma Elimeleki umugabo wa Nawomi arapfa, uno asigarana n’abahungu biwe babiri. 4 Haciye igihe, abo bagabo biyabirira abagore, abagore b’Abanyamowabukazi+. Umwe yitwa Orupa, uwundi na we akitwa Rusi+. Nuko babandanya kuba ng’aho nk’imyaka cumi. 5 Mu nyuma abo babiri, Mahiloni na Kiliyoni, na bo nyene barapfa, nya mugore asigara atagira abana biwe babiri n’umugabo wiwe. 6 Nuko arahaguruka, we hamwe n’abakazana biwe, asubira inyuma ava mu turere twa Mowabu, kuko yari yarumvise mu karere ka Mowabu yuko Yehova yari yitayeho abantu biwe+ mu kubaha umukate+.
7 Nuko aragenda ava aho hantu yari yarabaye+, ari kumwe na nya bakazana biwe babiri; baguma bagenda mu nzira kugira basubire mu gihugu ca Yuda. 8 Nawomi arahava abwira abakazana biwe bompi ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo+, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe+. 9 Yehova abahe ingabirano+, muronke ahantu h’ukuruhukira+, umwe wese mu nzu y’umugabo wiwe.” Maze arabasoma+, hanyuma bashira amajwi hejuru, bararira. 10 Baguma bamubwira bati: “Oya, ahubwo turasubirana inyuma tujane mu bantu b’iwanyu+.” 11 Ariko Nawomi avuga ati: “Subire inyuma, bakobwa banje. Kubera iki mwojana nanje? Mbega hari abahungu ngifise mu nda, ngo baze babe abagabo banyu+? 12 Subire inyuma, bakobwa banje, mugende, kuko nshaje cane ku buryo ntoronka umugabo. Iyo mba navuze hoho yuko mfise icizigiro c’uko noronka umugabo muri iri joro hanyuma nkavyara abahungu+, 13 mbega mwobarindiriye gushika bakure? Mbega mwogumye muba ukwanyu ntimurongorwe kubera bo? Oya, bakobwa banje, kuko bimbereye umururazi cane kubera mwebwe, kubona ukuboko kwa Yehova kwasohotse kundwanya+.”
14 Baca bashira amajwi hejuru bongera kurira, maze Orupa asoma inabukwe. Mugabo Rusi we, amata kuri we+. 15 Ariko Nawomi avuga ati: “Ehe mugenzawe yapfakaye asubiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe+. Subirana inyuma na mugenzawe yapfakaye+.”
16 Rusi avuga ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe; kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara+. Abantu bawe bazoba abantu banje+, n’Imana yawe ibe Imana yanje+. 17 Aho uzopfira ni ho nzopfira+, kandi ni ho nzohambwa. Yehova angirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.”
18 Nawomi abonye ko akobeje ngo ajane na we+, areka kumuvugisha. 19 Nuko bompi babandanya urugendo gushika bashitse i Betelehemu+. Maze bagishika i Betelehemu, igisagara cose kirashwabaduka kubera bo+; abagore baguma bavuga ngo: “Mbega uyu ni Nawomi+?” 20 Na we akababwira ati: “Ntimunyite Nawomi. Nimunyite Mara, kuko Mushoboravyose+ yatumye ibintu bimbera umururazi cane+. 21 Nagiye nuzuye+, none Yehova angarukanye iminwe misa+. Munyitira iki Nawomi kandi Yehova ari we yantetereje+, Mushoboravyose akaba ari we yanteje ivyago+?”
22 Ukwo ni ko Nawomi yagarutse, ari kumwe na Rusi umugore w’Umunyamowabukazi, umukazana wiwe, igihe yagaruka avuye mu turere twa Mowabu+; bashika i Betelehemu+ mu ntango y’iyimbura rya sayiri*+.
2 Kandi Nawomi yari afise incuti+ y’umugabo wiwe, umugabo akomeye w’umutunzi+ wo mu muryango wa Elimeleki, akaba yitwa Bowazi+.
2 Mu nyuma Rusi Umunyamowabukazi abwira Nawomi ati: “Ndakwinginze undeke ngende mu mirima gutorora*+ mu mahundo y’intete, nkurikira uwo wese nogira ubutoni mu maso yiwe.” Nuko amubwira ati: “Genda, mukobwa wanje.” 3 Aca aragenda maze arinjira, atangura gutorora mu murima inyuma y’abimbuzi+. Gutyo aza asanga ari mu gice c’itongo cegukira Bowazi+, uno akaba yari uwo mu muryango wa Elimeleki+. 4 Maze ehe Bowazi arashika avuye i Betelehemu, aza arabwira abimbuzi ati: “Yehova abane namwe+.” Na bo bakamubwira bati: “Yehova aguhezagire+.”
5 Mu nyuma Bowazi+ abwira umusore yari ajejwe abimbuzi ati: “Uyu mugore akiri muto ni uwa nde?” 6 Nuko nya musore arishura, ati: “Uwo mugore akiri muto ni Umunyamowabukazi+ yagarukanye na Nawomi avuye mu karere ka Mowabu+. 7 Kandi yavuze ati: ‘Ndakwinginze undeke ntorore+, ntoragure mu mahundo y’intete aciwe, ngendere inyuma y’abimbuzi.’ Nuko arinjira, aguma ahagaze kuva ico gihe mu gitondo gushika n’ubu, akaba ari ho acicara mu nzu akanya gatoyi+.”
8 Mu nyuma Bowazi abwira Rusi ati: “Urumva ga mukobwa wanje? Ntuje gutorora mu wundi murima+, kandi ntujabuke ngo uve hano uje ahandi; gutyo ugume hafi y’abasukukazi banje bakiri bato+. 9 Amaso yawe abe ku murima bimbura, kandi ujane na bo. None sinategetse abasore ngo ntibagukoreko+? Niwanyoterwa, uze kugenda ku vyombo maze unywe ku yo nya basore bazoba bavomye+.”
10 Rusi aca agwa yubamye, arunama gushika hasi+, maze amubwira ati: “Bigenze gute ngo ngire ubutoni mu maso yawe nkabonwa, kandi ndi umunyamahangakazi+?” 11 Maze Bowazi aramwishura ati: “Banyiganiye+ neza ivyo wakoreye nyokobukwe vyose inyuma y’urupfu rw’umugabo wawe+, n’ingene wasize so na nyoko n’igihugu c’incuti zawe ukaja ku bantu utari uzi+. 12 Yehova aguhembere ivyo ukora+, kandi Yehova Imana ya Isirayeli aguhe impembo itunganye+, uwo waje kuronderera ubuhungiro munsi y’amababa yiwe+.” 13 Na we aca avuga ati: “Ningire ubutoni mu maso yawe, mukama wanje, kuko umpojeje kandi ukavugisha umusukukazi wawe mu buryo buhumuriza+, naho ntari nk’umwe mu basukukazi bawe+.”
14 Igihe co gufungura kigeze, Bowazi amubwira ati: “Egera ng’aha, urye ku mukate+ wongere udumbe ikimanyu cawe mu nkarihe.” Nuko yicara iruhande y’abimbuzi, aza aramuhereza intete zikaranze+ na we akarya, arahaga agira n’ibisigara. 15 Maze arahaguruka kugira atorore+. Nuko Bowazi abwiriza abasore biwe ati: “Mumureke atorore no mu mahundo y’intete yaciwe, kandi ntimumusindire+. 16 Vyongeye, mwitwararike kumusokorera amahundo makeya mu mitekero y’amahundo, muyasige inyuma kugira ayatorore+, kandi ntimumuhambarire.”
17 Abandanya gutorora mu murima gushika ku mugoroba+, maze akubita+ izo yari yatoroye, ziba nka efa*+ imwe ya sayiri. 18 Nuko arazitora hanyuma yinjira mu gisagara, maze inabukwe abona izo yari yatoroye. Inyuma y’ivyo, asokorora ibifungurwa yari yasigaje+ amaze guhaga, arabimuha.
19 Nuko inabukwe amubwira ati: “Watoroye hehe uno musi, kandi wakoreye hehe? Uwakubonye aragahezagirwa+.” Yiganira rero inabukwe nyen’umurima yari yakozemwo uwo ari we; hanyuma abandanya kuvuga ati: “Nyen’umurima nakozemwo uno musi ni Bowazi.” 20 Nawomi aca abwira umukazana wiwe ati: “Ahezagirwe na Yehova+, we ataretse kugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ abazima n’abapfuye+.” Nawomi abandanya kumubwira ati: “Uwo mugabo ni incuti yacu+. Ni umwe mu bacunguzi+ bacu.” 21 Maze Rusi Umunyamowabukazi avuga ati: “Yambwiye kandi ati: ‘Uraguma hafi y’abantu banje bakiri bato gushika barangije umwimbu wose mfise+.’” 22 Nawomi+ araheza abwira Rusi umukazana wiwe+ ati: “Ni vyiza, mukobwa wanje, ko ujana n’abasukukazi biwe bakiri bato, kugira ngo ntibakugore mu wundi murima+.”
23 Aguma hafi y’abasukukazi ba Bowazi bakiri bato kugira atorore, gushika iyimbura rya sayiri+ n’iyimbura ry’ingano rirangiye. Aguma abana na inabukwe+.
3 Nawomi inabukwe amubwira ati: “Mukobwa wanje, mbega sinkwiye kukuronderera ahantu h’ukuruhukira+, kugira ngo bikugendere neza? 2 None Bowazi, umwe wagumana n’abasukukazi biwe bakiri bato, si incuti yacu+? Ehe iri joro ahava agosora+ sayiri ku mbuga y’ikubitiro. 3 Nuko uze kwoga, wisige amavuta+ maze wambare imitamana yawe+, uheze umanuke ku mbuga y’ikubitiro. Ntumwiyereke gushika arangije kurya no kunywa. 4 Maze niyaryama, uze kuraba ahantu aryamye; uheze ugende, umupfukure ku birenge hanyuma uryame; na we araza kukubwira ico uri bukore.”
5 Na we amubwira ati: “Ivyo umbwiye vyose ndabikora.” 6 Nuko amanuka ku mbuga y’ikubitiro, maze akora yisunze ivyo inabukwe yari yamutegetse vyose. 7 Ico gihe Bowazi yariko ararya yongera anywa, kandi umutima wiwe wari uryohewe+. Maze aja kuryama ku mpera y’ikirundo c’intete. Hanyuma Rusi aza yomboka, amupfukura ku birenge araheza araryama. 8 Maze hageze mu gicugu, nya mugabo atangura kujugumira. Nuko yunamira imbere, asanga hari umugore aryamye ku birenge vyiwe! 9 Maze avuga ati: “Uri nde?” Na we ati: “Ndi Rusi umushumbakazi wawe; nusanze impuzu* yawe ku mushumbakazi wawe, kuko uri umucunguzi+.” 10 Nuko avuga ati: “Uragahezagirwa na Yehova+, mukobwa wanje. Werekanye neza ubuntu bwuzuye urukundo+ bwawe ubu kuruta ubwa mbere+, mu kudakurikira imisore, yaba iyiciye bugufi canke iyitunze. 11 Ubu rero ga mukobwa wanje, ntutinye. Ivyo uvuga vyose ndabigukorera+, kuko bose mu gisagara* c’abantu banje bazi yuko uri umugore w’agahebuza+. 12 Ubu rero, naho ari ivy’ukuri yuko ndi umucunguzi+, hariho umucunguzi w’incuti ya hafi kundusha+. 13 Rara ng’aha iri joro, maze mu gitondo niyagucungura+, bizoba ari vyiza! Agucungure. Ariko nibitamuhimbara kugucungura, nzoca ndagucungura jewe ubwanje, ndahiye ukubaho kwa Yehova+. Nuryame gushika mu gitondo.”
14 Nuko aguma aryamye ku birenge vyiwe gushika mu gitondo, maze avyuka imbere y’uko umuntu yoshobora kumenya uwundi. Nuko Bowazi avuga ati: “Ntihagire uwumenya ko hari umugore yaje ku mbuga y’ikubitiro+.” 15 Yongera avuga ati: “Zana ico gikwemu kiri kuri wewe, maze ugisanze.” Nuko aragisanza, na we agera ingero zitandatu za sayiri, arazimukorera, hanyuma nya mugabo yinjira mu gisagara.
16 Rusi aja kwa inabukwe, na we aca avuga ati: “Uri nde ga mukobwa wanje?” Amubwira rero ibintu vyose nya mugabo yari yamugiriye. 17 Avuga kandi ati: “Izi ngero zitandatu za sayiri yazimpaye, kuko yambwiye ati: ‘Ntuje kwa nyokobukwe iminwe misa+.’” 18 Nawomi aca avuga ati: “Iyicarire, mukobwa wanje, gushika umenye uko bija kugenda, kuko uwo mugabo ataruhuka ico kibazo atakirangije uno musi+.”
4 Bowazi na we aduga kw’irembo+, yicaraho. Maze aza abona wa mucunguzi ararenganye, umwe Bowazi yari yavuze+. Aca avuga ati: “Kevya wicare hano, yewe naka.” Nuko arakevya, aricara. 2 Bowazi araheza atora abagabo cumi mu bagabo b’inararibonye+ bo mu gisagara, maze avuga ati: “Nimwicare hano.” Nuko baricara.
3 Maze abwira nya mucunguzi+ ati: “Igice c’itongo cari ica mwene wacu Elimeleki+, Nawomi, umwe yagaruka avuye mu karere ka Mowabu+, agira akigurishe. 4 Nanje niyumviriye yuko nkwiye kubikumenyesha, mu kuvuga nti: ‘Nukigurire+ imbere y’abanyagihugu n’abagabo b’inararibonye b’igisata canje+. Nimba ugicungura, nugicungure; ariko nimba utagicungura, ubimbwire ndabimenye, kuko ata wundi yogicungura+ kiretse wewe; jewe ndagukurikira.’” Na we avuga ati: “Ni jewe ndagicungura+.” 5 Maze Bowazi avuga ati: “Umusi uzogura iryo tongo mu kuboko kwa Nawomi, uzorigura no kuri Rusi Umunyamowabukazi, umugore w’umuhisi, kugira ngo utume izina ry’umuhisi rigaruka ku ntoranwa yiwe+.” 6 Nya mucunguzi aca avuga ati: “Sinshoboye kuryicungurira, simpave nonona intoranwa yanje. Ba ari wewe uryicungurira ku burenganzira bwanje bw’ugucungura, kuko jewe ntabishoboye.”
7 Uyu ni wo wari umugenzo wa kera muri Isirayeli ku bijanye n’uburenganzira bw’ugucungura no ku bijanye n’ugukāba, kugira ngo ikintu cose gishingwe: Umugabo yabwirizwa gukura inkweto* yiwe+ akayiha mugenziwe, ico kikaba cari icemezo muri Isirayeli. 8 Maze nya mucunguzi abwiye Bowazi ati: “Nuryigurire,” aca akura inkweto yiwe+. 9 Bowazi abwira rero abagabo b’inararibonye n’abantu bose ati: “Muri ivyabona+ uno musi yuko nguze koko mu kuboko kwa Nawomi ivyari ivya Elimeleki vyose n’ivyari ivya Kiliyoni na Mahiloni vyose. 10 Na Rusi Umunyamowabukazi, umugore wa Mahiloni, ndamuguze koko ngo abe umugore wanje kugira ngo ntume izina ry’umuhisi+ rigaruka ku ntoranwa yiwe no kugira ngo izina ry’umuhisi ntirirandurwe muri bene wabo no mw’irembo ry’igisagara ciwe. Muri ivyabona+ uno musi.”
11 Abantu bose bari mw’irembo n’abagabo b’inararibonye baca bavuga bati: “Turi ivyabona! Yehova nahe umugore aje mu nzu yawe kuba nka Rasheli+ na Leya+, bompi bakaba bubatse inzu ya Isirayeli+; nawe werekane agaciro kawe muri Efurata+ kandi wiheshe izina rikomeye muri Betelehemu+. 12 Vyongeye, biciye ku ruvyaro Yehova azoguha kuri uyu mugore akiri muto+, inzu yawe nicike nk’inzu ya Perezi, umwe Tamari yavyarira Yuda+.”
13 Bowazi rero yabira Rusi, aba umugore wiwe araheza aryamana na we. Nuko Yehova amuha gusama inda+ hanyuma avyara umuhungu. 14 Maze abagore batangura kubwira+ Nawomi bati: “Hahezagirwe Yehova+, we ataretse ngo ubure umucunguzi uno musi; kugira ngo izina ryiwe ritangazwe muri Isirayeli. 15 Kandi acitse uwuhembura ubuzima bwawe n’uwuzokubungabunga mu busaza bwawe+, kuko ari umukazana wawe yamwibarutse, umwe agukunda vy’ukuri+ kandi akakurutira abahungu indwi+.” 16 Nuko Nawomi yakira nya mwana, amushira mu gikiriza ciwe, araheza aba umurezi wiwe. 17 Maze abagore bari ababanyi+ biwe bamuha izina, mu kuvuga bati: “Nawomi avyariwe umuhungu.” Nuko bamwita Obedi+. Ni we se wa Yese+, se wa Dawidi.
18 Aya rero ni yo mayaruka ya Perezi+: Perezi yavyaye Hezironi+; 19 Hezironi avyara Ramu; Ramu+ avyara Aminadabu; 20 Aminadabu+ avyara Nahashoni+; Nahashoni avyara Salumoni; 21 Salumoni+ avyara Bowazi; Bowazi+ avyara Obedi; 22 Obedi avyara Yese+; Yese avyara Dawidi+.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Raba Inyongera ya 21.
Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.
Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”
Ijambo ku rindi ni “irembo.”
Canke, “isandali.”