ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 1 Samweli 1:1-31:13
  • 1 Samweli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Samweli
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
1 Samweli

Igitabu ca Mbere ca Samweli

canke, hisunzwe impinduro y’ikigiriki Septante, IGITABU CA MBERE C’ABAMI

1 Hari umugabo umwe w’i Ramatayimu-zofimu+ ho mu karere k’imisozi ka Efurayimu+; yitwa Elikana+ mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Zufi+, Umwefurayimu. 2 Yari afise abagore babiri: umwe yitwa Hana, uwundi na we Penina. Nuko Penina aronka abana, mugabo Hana nta bana yari afise+. 3 Uwo mugabo yama ava mu gisagara ciwe ku mwaka ku mwaka akaduga i Shilo+ gukubita inkoro hasi+ imbere ya Yehova nyen’ingabo* no kumushikanira ikimazi. Aho ni ho abahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi+, bari abaherezi ba Yehova+.

4 Nuko hashika umusi aho Elikana ashikana ikimazi, maze aha imigabane Penina umugore wiwe, n’abahungu biwe bose n’abakobwa biwe bose+. 5 Mugabo Hana amuha umugabane umwe. Ariko Hana ni we yakunda+, mugabo Yehova yari yarugaye igitereko ciwe+. 6 Umukeba wiwe na we yaramubabaza+ bimwe bikomeye kugira ngo amubuze amahoro, kuko Yehova yari yarugaye igitereko ciwe. 7 Ukwo ni ko Penina yagira ku mwaka ku mwaka+, igihe cose yaduga ku nzu ya Yehova+. Ukwo ni ko yababaza Hana, ku buryo yarira, ntarye. 8 Nuko Elikana umugabo wiwe amubwira ati: “Hana, kubera iki urira, kandi kubera iki utarya? Kubera iki umutima wawe umerewe nabi+? Mbega sinkurutira abahungu cumi+?”

9 Maze Hana arahaguruka bamaze kurya ng’aho i Shilo bakamara no kunywa, mu gihe Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe iruhande y’igishimaryango c’urusengero+ rwa Yehova. 10 Kandi yari adundumiwe mu mutima+; atangura rero gusenga Yehova+ no kurira cane+. 11 Hanyuma agira indagano+, ati: “Ewe Yehova nyen’ingabo, niwitegereza koko amarushwa y’umushumbakazi+ wawe, ukanyibuka+ koko, kandi ntiwibagire umushumbakazi wawe, ugaha vy’ukuri umushumbakazi wawe umwana w’umuhungu, nzomuha Yehova imisi yose y’ubuzima bwiwe, kandi nta rumosho ruzogera ku mutwe wiwe+.”

12 Mu gihe yariko asenga umwanya muremure+ imbere ya Yehova, Eli yariko yihweza umunwa wiwe. 13 Ariko Hana yariko avugira mu mutima wiwe+; iminwa yiwe ni yo gusa yakubita, ijwi ryiwe ntiryumvikane. Mugabo Eli amufata nk’uwaborewe+. 14 Eli amubwira rero ati: “Uzogeza ryari kwigenza nk’uwaborewe+? Ikureko uwo muvinyu wawe.” 15 Hana aca arishura, ati: “Oya mukama wanje! Ndi umugore atuntuye ku mutima; sinanyoye umuvinyu canke inzoga iboreza, ahubwo ndiko nsuka umutima wanje imbere ya Yehova+. 16 Ntufate umushumbakazi wawe nk’umugore w’imburakimazi+, kuko gushika ubu navuze ndabitumwe n’ubwinshi bw’amaganya yanje n’akababaro kanje+.” 17 Maze Eli arishura, ati: “Genda amahoro+, Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye+.” 18 Na we avuga ati: “Umusukukazi wawe nagire ubutoni mu maso yawe+.” Nuko uwo mugore aragenda hanyuma ararya+, kandi mu maso hiwe ntihasubira kuboneka amaganya+.

19 Maze bavyuka kare mu gitondo, bakubita inkoro hasi imbere ya Yehova, hanyuma basubira inyuma, baja iwabo i Rama+. Nuko Elikana aryamana+ na Hana umugore wiwe, maze Yehova aramwibuka+. 20 Nuko haciye umwaka, Hana aribungenga hanyuma avyara umuhungu araheza amwita+ Samweli, kuko yavuga ati: “Yehova ni we namusavye+.”

21 Mu nyuma, nya mugabo Elikana adugana n’urugo rwiwe rwose gushikanira Yehova ikimazi ca buri mwaka+ n’ishikanwa ryiwe ry’indagano+. 22 Ariko Hana ntiyaduga+, kuko yari yabwiye umugabo wiwe ati: “Aka gahungu kakimara gucuka+, nzokajana ata kabuza, gaseruke imbere ya Yehova, kabeyo gushika igihe kitagira urugero*+.” 23 Elikana umugabo+ wiwe aca amubwira ati: “Kora ivyo ubona ko ari vyiza mu maso yawe+. Guma i muhira gushika ugacukije. Gusa, Yehova ashitse ijambo ryiwe+.” Nya mugore rero aguma i muhira, abandanya kwonsa umuhungu wiwe gushika amucukije+.

24 Nuko akimara kumucutsa, aramudugana, hamwe n’ishūri imaze imyaka itatu, na efa* imwe y’ifu n’umubindi munini w’umuvinyu+, maze yinjira mu nzu ya Yehova i Shilo+. Kandi nya gahungu kari kumwe na we. 25 Maze bakerera nya shūri baraheza bazanira Eli+ ako gahungu. 26 Hana aca avuga ati: “Ntunga mukama wanje! Ndahiye ukubaho kwawe+ mukama wanje, ndi wa mugore yari ahagararanye nawe muri iki kibanza kugira asenge Yehova+. 27 Nasenga ku bijanye n’aka gahungu, kugira Yehova ampe ico namusaba+. 28 Nanje, ndamutije Yehova+. Imisi yose azobaho, azoba uwahawe Yehova.”

Nuko Elikana yunamira Yehova ng’aho+.

2 Hanyuma Hana arasenga+, avuga ati:

“Umutima wanje urirata koko kubera Yehova+,

Emwe, ihembe ryanje rishizwe hejuru biciye kuri Yehova+.

Akanwa kanje kasamiye kwishura abansi banje,

Kuko nezerererwa koko ubukiriro bwawe+.

 2 Nta n’umwe ari mweranda nka Yehova, kuko ata n’umwe ariho kiretse wewe+;

Kandi nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu+.

 3 Ntimuvuge menshi mubigiranye ubwibone bwinshi gutyo,

Ntihagire ikintu akanwa kanyu kavugana ugushirukanya+,

Kuko Yehova ari Imana y’ubumenyi+,

Kandi ibikorwa arabigera ata karenganyo+.

 4 Abagabo b’abanyenkomezi b’abanyamuheto bacitse ivutu+,

Mugabo ab’intege nke bakenyera inkomezi+.

 5 Abahaze bategerezwa kwikotesha ngo baronke umukate+,

Mugabo abashonje bareka vy’ukuri gusonza+.

Mbere ingumba yibarutse indwi+,

Mugabo uwari afise abahungu benshi arayamye+.

 6 Yehova ni Uwica akaba n’Uwuzigama ubuzima+,

Uwumanura mu kuzimu*+ akaba n’Uwukurayo+.

 7 Yehova ni Uwukenesha+ akaba n’Uwutungisha+,

Uwucisha bugufi akaba n’Uwushira hejuru+,

 8 Uwushira hejuru umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;

Aduza umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,

Kugira abicarike hamwe n’abanyacubahiro; abaha intebe y’ubwami y’ubuninahazwa+ ngo bayigabire+.

Kuko ibishigikiye isi+ ari ivya Yehova,

Kandi abishirako ubutaka bwimbuka.

 9 Arinda ibirenge vy’intahemuka ziwe+;

Nayo ababisha, banumirizwa mu mwiza+,

Kuko umuntu atanesha biciye ku nkomezi+.

10 Nayo Yehova, abanigana na we bazotekerwa n’ubwoba+;

Azobaturagarira ari mw’ijuru+.

Yehova ubwiwe azocira urubanza impera z’isi+,

Kugira ngo ahe inkomezi umwami wiwe+,

Kugira ngo ashire hejuru ihembe ry’uwo yarobanuje amavuta*+.”

11 Maze Elikana aja i Rama ku nzu iwe; nayo nya gahungu, kaba agasuku+ ka Yehova imbere ya Eli umuherezi.

12 Kandi bene Eli bari abantu b’imburakimazi+; ntibemera icese Yehova+. 13 Nayo ku bijanye n’ivyo abaherezi bari bafitiye uburenganzira vyava ku bantu+, igihe cose hagize umuntu ashikana ikimazi, umusuku w’umuherezi yaraza afise ikanya y’amenyo atatu mu kuboko, igihe nyene inyama zaba ziriko ziratogota+, 14 agacumita mw’ibesani canke mu nkono y’ibigōmbo bibiri canke mu gisafuriya canke mu nkono y’ikigōmbo kimwe. Ikintu cose nya kanya yaduza, umuherezi yaracitwarira. Ukwo ni ko bakora i Shilo ku Bisirayeli bose baza ng’aho+. 15 Vyongeye, n’imbere y’uko bafumbisha ikinure umwotsi+, umusuku w’umuherezi yaraza maze akabwira umuntu yaba atanze ikimazi ati: “Tanga inyama zo gutarira umuherezi kugira ngo ntumuhe inyama zitetse, ariko umuhe mbisi+.” 16 Nya muntu amubwiye ngo: “Reka babanze bafumbishe ikinure umwotsi+, uheze utware izo umutima wawe uhahamiye zose+,” yaca avuga ati: “Oya, ahubwo ukwiye kuzitanga ubu; atari ukwo, ndazitwara ku nguvu+!” 17 Nuko igicumuro ca nya basuku kiba igikomeye cane imbere ya Yehova+; kuko abo bagabo bagaya ishikanwa rya Yehova+.

18 Kandi Samweli yakorera+ imbere ya Yehova, ari agahungu gakenyeye efodi* y’ilino+. 19 Vyongeye, nyina yaramukorera umwitero mutoya utagira amaboko, akawumuduganira ku mwaka ku mwaka, igihe yaba aduganye n’umugabo wiwe gushikana ikimazi ca buri mwaka+. 20 Eli ahezagira+ Elikana n’umugore wiwe, avuga ati: “Yehova aguhe uruvyaro kuri uyu mugore mu kibanza ca ya ntizo yatizwa Yehova+.” Nuko baja iwabo. 21 Yehova yitaho rero Hana+, ku buryo yibungenga hanyuma akavyara abahungu batatu n’abakobwa babiri+. Nuko ka gahungu Samweli kabandanya gukurira imbere ya Yehova+.

22 Kandi Eli yari ashaje cane; yari yarumvise+ ibintu vyose abahungu biwe baguma bakorera+ Isirayeli yose be n’ukuntu baryamana n’abagore+ bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+. 23 Yababwira ati+: “Kubera iki muguma mukora ibintu nk’ivyo+? Kuko ibintu ndabumvako mu bantu bose ari bibi+. 24 Oya+, bane banje, kuko inkuru numva atari nziza, iyo abantu ba Yehova bariko barakwiragiza+. 25 Umuntu acumuye ku muntu+, Imana yobijamwo ikamubera umucamanza+; mugabo umuntu acumuye kuri Yehova+, ni nde azomusengera+?” Mugabo ntibumviriza ijwi rya se+, kuko Yehova ico gihe yari ahimbawe no kubica+. 26 Muri ico gihe, ako gahungu Samweli karushiriza gukura no gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu+.

27 Nuko umuntu w’Imana+ aza kuri Eli, amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Mbega sinihishuriye koko inzu ya sogokuruza wawe igihe bari mu Misiri ari abashumba b’inzu ya Farawo+? 28 Kandi bamuntoreye mu miryango yose ya Isirayeli+, ngo akore ari umuherezi maze aduge ku gicaniro* canje+ gutuma umwotsi w’ibimazi uduga, ngo yambare efodi imbere yanje, kugira ngo mpe inzu ya sogokuruza wawe amashikanwa yose ashikanishwa umuriro ya bene Isirayeli+. 29 Ni kubera iki muguma mutera umugere ikimazi canje+ n’ishikanwa ryanje nategetse aho mba+, kandi ukaguma utera iteka abahungu bawe kunduta, mu kwidohesha ubwanyu+ ku vyiza kuruta ibindi vyose vyo mu mashikanwa y’abantu banje Isirayeli+?

30 “‘Ni co gituma Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Nari naravuze koko nti: Inzu yawe n’inzu ya sogokuruza wawe zizogendera imbere yanje gushika igihe kitagira urugero+.” Mugabo ubu Yehova avuze ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, kuko abantera iteka+ nzobatera iteka+, ariko abansuzugura bazoba ab’agaciro gato+.” 31 Ehe imisi iraje aho nzokuraho ububasha bwawe n’ububasha bw’inzu ya sogokuruza wawe, kugira ngo ntihazobeho umutama mu nzu yawe+. 32 Emwe, uzokwitegereza uwukurwanya aho mba hagati mu vyiza vyose bigirirwa Isirayeli+; ntihazokwigera habaho umutama mu nzu yawe. 33 Yamara, hariho umugabo wo mu bawe ntazorandura kugira abe hafi y’igicaniro canje, kugira ngo ntume amaso yawe agwabira nongere ntume ugoyagoya; mugabo benshi mu nzu yawe, bose bazokwicwa n’inkota y’abantu+. 34 Iki ni co kizokubera ikimenyetso c’ivyo, kandi kizoza ku bahungu bawe babiri, Hofuni na Finehasi+: Bompi bazopfira umusi umwe+. 35 Kandi nzokwihagurukiriza umuherezi+ w’umwizigirwa. Azokora ahuza n’ibiri mu mutima wanje be n’ivyo ngomba; emwe, nzomwubakira inzu iramba, na we azokwama agendera imbere y’uwo narobanuje amavuta+. 36 Uwuzosigara wese+ mu nzu yawe azoza amwunamire arondera guhembwa amahera n’akamanyu k’umukate k’umuzingi, avuge koko ati: “Ndakwinginze unshire kuri rimwe mu mabanga ajanye n’ubuherezi, kugira ngo ndye ikimanyu c’umukate+.”’”

3 Muri ico gihe, ako gahungu Samweli kakorera+ Yehova imbere ya Eli, kandi ijambo rya Yehova+ ryari risigaye ari imbonekarimwe muri iyo misi+; nta yerekwa+ ryakwiragizwa.

2 Nuko kuri uwo musi, Eli yari aryamye ahantu hiwe, kandi amaso yiwe yari amaze gutangura kwijima+; ntiyashobora kubona. 3 Itara ry’Imana ntiryari bwazime, kandi Samweli yari aryamye mu rusengero+ rwa Yehova, aho isandugu y’Imana yari. 4 Yehova ahamagara rero Samweli. Na we avuga ati: “Ndi hano+.” 5 Maze yiruka iyo Eli ari araheza avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye.” Mugabo Eli avuga ati: “Sinahamagaye. Subira kuryama.” Nuko aja kuryama. 6 Yehova yongera guhamagara ati: “Samweli+!” Samweli aca aravyuka, aja iyo Eli ari maze avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye vy’ukuri.” Mugabo avuga ati: “Sinahamagaye mwananje+. Subira kuryama.” 7 (Nayo Samweli, ntiyari bwamenye Yehova, kandi ntiyari bwatangure guhishurirwa ijambo rya Yehova+.) 8 Yehova rero yongera guhamagara ubugira gatatu ati: “Samweli!” Aca aravyuka, aja iyo Eli ari, avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye koko.”

Nuko Eli amenya yuko Yehova ari we yariko arahamagara ako gahungu. 9 Eli rero abwira Samweli ati: “Genda uryame, maze niyaguhamagara, uvuge uti: ‘Vuga Yehova, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza.’” Samweli aca aja kuryama ahantu hiwe.

10 Nuko Yehova araza, ahagarara ng’aho hanyuma ahamagara nko kuri vya bihe bindi, ati: “Samweli, Samweli!” Samweli aca avuga ati: “Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza+.” 11 Yehova abandanya kubwira Samweli ati: “Ehe ngira nkore+ ikintu muri Isirayeli, uwuzocumva wese amatwi yiwe akaba azovugiramwo iminzerere+. 12 Kuri uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze vyose ku nzu yiwe, kuva mu ntango gushika kw’iherezo+. 13 Kandi umubwire yuko nciriye urubanza inzu yiwe+ gushitsa igihe kitagira urugero ku bw’ikosa azi neza+, kuko abahungu biwe bahamagarira akabi ku Mana+, yamara akaba atabahambariye+. 14 Ni co gituma narahiye inzu ya Eli yuko ikosa ry’inzu ya Eli ritazokurwako igihano biciye ku kimazi canke kw’ishikanwa, gushika igihe kitagira urugero+.”

15 Samweli aguma aryamye gushika mu gitondo. Maze yugurura imiryango y’inzu ya Yehova+. Kandi Samweli yaratinya kwiganira Eli ivyo yari yeretswe+. 16 Mugabo Eli ahamagara Samweli ati: “Samweli mwananje!” Na we ati: “Ndi hano.” 17 Abandanya kuvuga ati: “Ijambo yakubwiye ni irihe? Ndakwinginze nturimpishe+. Imana ikugirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, niwagira ijambo umpisha mu majambo yose yakubwiye.” 18 Samweli amwiganira rero nya majambo yose, ntiyamuhisha ikintu na kimwe. Eli aca avuga ati: “Ni Yehova. Nakore ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.”

19 Samweli abandanya gukura, kandi Yehova ubwiwe abana na we+, ntiyareka ngo hagire na rimwe mu majambo yiwe yose rikorokera hasi+. 20 Nuko Isirayeli yose, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, imenya yuko Samweli yari yashinzwe ibango ryo kuba umuhanuzi wa Yehova+. 21 Yehova yongera kwiyerekanira+ i Shilo, kuko Yehova yihishuriye Samweli i Shilo biciye kw’ijambo rya Yehova+.

4 Kandi ijambo rya Samweli ryabandanya kuza kuri Isirayeli yose.

Maze Isirayeli isohoka guhura n’Abafilisitiya mu rugamba; bakambika iruhande ya Ebenezeri+, Abafilisitiya na bo bakambika i Afeki+. 2 Nuko Abafilisitiya batonda urugamba+ ngo bahure na Isirayeli, maze urugamba rugenda nabi, ku buryo Isirayeli itsindwa imbere y’Abafilisitiya+, bano bica nk’abagabo ibihumbi bine mu bari batonze urugamba begeranye mu gahinga. 3 Abantu bashitse kw’ikambi, abagabo b’inararibonye ba Isirayeli batangura kuvuga bati: “Ni kubera iki Yehova adutsindiye uyu musi imbere y’Abafilisitiya+? Nimuze twizanire isandugu y’isezerano rya Yehova+ tuyikuye i Shilo, kugira ngo ize hagati muri twebwe, idukize mu kiganza c’abansi bacu.” 4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.

5 Isandugu y’isezerano rya Yehova ikimara gushika mw’ikambi, Abisirayeli bose biha akaruru gakomeye+, ku buryo isi yasirana. 6 Abafilisitiya na bo nyene bumva ijwi ry’ako kamo, batangura kuvuga bati: “Iryo jwi ry’ako kamo gakomeye+ kari mw’ikambi y’Abaheburayo risobanura iki?” Amaherezo bamenya yuko isandugu ya Yehova yari yashitse mw’ikambi. 7 Nuko Abafilisitiya baratinya, kuko bavuze bati: “Imana ishitse mw’ikambi+!” Bavuga rero bati: “Turagowe, kuko ikintu nk’ico kitari bwigere kiba! 8 Turagowe! Ni nde azodukiza akadukura mu kuboko kw’iyo Mana y’agakomeye? Iyo ni ya Mana yakubita Misiri igasasika inganda bimwe bikomeye mu gahinga+. 9 Mugire umutima rugabo kandi mube abagabo, yemwe Bafilisitiya, kugira ntimukorere Abaheburayo nk’uko babakoreye+; nimube abagabo rero, murwane!” 10 Nuko Abafilisitiya bararwana, maze Isirayeli iratsindwa+, batangura guhunga, umwe wese ahungira kw’ihema ryiwe+; haba ugusasika inganda gukomeye cane+ ku buryo muri Isirayeli hagwa abagabo ibihumbi mirongo itatu bari ku maguru+. 11 Isandugu y’Imana irafatwa+, ba bahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi, na bo barapfa+.

12 Umugabo umwe wo muri Benyamini ariruka avuye aho batonze urugamba, ashika i Shilo kuri uwo musi impuzu ziwe zatantamutse+, umutwe wiwe na wo uriko ivu+. 13 Ashitse, asanga Eli yari yicaye ku ntebe iruhande y’ibarabara, areretse, kuko umutima wiwe wariko urajugumira kubera isandugu y’Imana y’ukuri+. Nya mugabo yinjira kumenyesha iyo nkuru mu gisagara, maze igisagara cose gitangura kuboroga. 14 Eli yumva ijwi rya nya maborogo. Aca avuga ati: “Iryo jwi ry’urwo ruyogoyogo risobanura iki+?” Nya mugabo anyaruka kwinjira kugira amenyeshe Eli iyo nkuru. 15 (Kandi Eli yari afise imyaka mirongo icenda n’umunani; amaso yiwe yari yaradegeye ku buryo atashobora kubona+.) 16 Nya mugabo abwira Eli ati: “Ni jewe mvuye aho batonze urugamba; nahunze uno musi mvuye aho batonze urugamba.” Eli aca avuga ati: “Habaye iki ga mwananje?” 17 Nya muntu yari azanye inkuru arishura ati: “Isirayeli yahunze imbere y’Abafilisitiya, kandi abantu batsinzwe bikomeye+; mbere na ba bahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi bapfuye+, kandi n’isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.”

18 Akivuga ngo isandugu y’Imana y’ukuri, Eli aca agwa agaramye iruhande y’irembo avuye ku ntebe, izosi ryiwe riravunika aca arapfa, kuko uwo mugabo yari ashaje kandi yiremereye; yari amaze imyaka mirongo ine acira imanza Isirayeli. 19 Umukazana wiwe, umugore wa Finehasi, yari yibungenze ari hafi kwibaruka; nuko yumva inkuru yuko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe be n’uko sebukwe n’umugabo wiwe bapfuye. Aca arunama atangura kwibaruka, kuko yaciye afatwa n’ibise giturumbuka+. 20 Maze ari hafi gupfa, abagore bari bahagaze iruhande yiwe batangura kuvuga bati: “Ntutinye, kuko uvyaye umuhungu+.” Na we ntiyishura kandi ntiyabishirako umutima. 21 Mugabo yita nya gahungu Ikabodi*+, avuga ati: “Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano+,” aho akaba yariko yerekeza ku gufatwa kw’isandugu y’Imana y’ukuri no kuri sebukwe n’umugabo wiwe+. 22 Avuga rero ati: “Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano+, kuko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.”

5 Nayo Abafilisitiya, bafata isandugu+ y’Imana y’ukuri, bayijana i Ashidodi+ bayikuye i Ebenezeri. 2 Hanyuma Abafilisitiya bafata nya sandugu y’Imana y’ukuri, bayinjiza mu nzu ya Dagoni baraheza bayihagarika iruhande ya Dagoni+. 3 Maze Abanyashidodi bavyuka kare ku musi ukurikira, basanga Dagoni yaguye yubamye imbere y’isandugu ya Yehova+. Nuko batora Dagoni, bayisubiza mu kibanza cayo+. 4 Bavyutse kare mu gitondo ku musi ukurikira, basanga Dagoni yaguye yubamye imbere y’isandugu ya Yehova, umutwe wayo n’ibiganza vy’amaboko yayo yompi vyacitse, biri mu rwinjiriro+. Igihimba kimeze nk’ifi ni co conyene cari casigaye kuri yo. 5 Ni co gituma abaherezi ba Dagoni n’abinjira mu nzu ya Dagoni bose badahonyora mu rwinjiriro rwa Dagoni i Ashidodi, gushika n’uyu musi.

6 Nuko ukuboko kwa Yehova+ gutangura kuremera Abanyashidodi, atuma bata umutwe yongera abateza ibivyimba*+, ni ukuvuga ab’i Ashidodi no mu turere twaho. 7 Abantu b’i Ashidodi babona ko vyifashe gutyo, maze bavuga bati: “Ntitureke ngo isandugu y’Imana ya Isirayeli ibane natwe, kuko ukuboko kwayo kwatumereye nabi kukamerera nabi na Dagoni imana yacu+.” 8 Nuko batumako abatware bose b’urunani b’Abafilisitiya, bakoranira aho bari, maze bavuga bati: “Tugenze dute isandugu y’Imana ya Isirayeli?” Amaherezo bavuga bati: “Isandugu y’Imana ya Isirayeli nije i Gati+.” Bajanayo rero iyo sandugu y’Imana ya Isirayeli.

9 Bamaze kujanayo iyo sandugu, ukuboko kwa Yehova+ kuba kuri ico gisagara, haba umuvurungano ukomeye cane, maze atangura gukubita abantu bo muri ico gisagara, kuva ku muto gushika ku wuhambaye, batangura guturika ibivyimba+. 10 Ku bw’ivyo barungika nya sandugu y’Imana y’ukuri i Ekuroni+. Maze iyo sandugu y’Imana y’ukuri ikimara gushika i Ekuroni, Abanyekuroni batangura gusemerera bati: “Bazanye ya sandugu y’Imana ya Isirayeli iwanje kugira batwice twe n’abantu banje+!” 11 Batuma rero kwegeranya abatware bose b’urunani b’Abafilisitiya, maze bavuga bati: “Nimurungike isandugu y’Imana ya Isirayeli isubire ahantu hayo kugira ntitwice twe n’abantu banje.” Kuko mu gisagara cose hari habaye umuvurungano uteza urupfu+; ukuboko kw’Imana y’ukuri kwari kwaharemereye cane+, 12 kandi abantu batapfuye bari batejwe ibivyimba+. Nuko ugutabaza+ kw’ico gisagara kubandanya kuduga mw’ijuru.

6 Nuko isandugu+ ya Yehova imara amezi indwi mu karere k’Abafilisitiya. 2 Hanyuma Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abaraguzi+, bavuga bati: “Tugenze dute isandugu ya Yehova? Nimutumenyeshe ico dukwiye kuyirungikana ahantu hayo.” 3 Na bo bavuga bati: “Nimwarungika isandugu y’Imana ya Isirayeli, ntimuze muyirungike itari kumwe n’ishikanwa, kuko mukwiye koko gusubiza Imana ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+. Ni ho muzokira, mukamenya igituma ukuboko kwayo kutava kuri mwebwe.” 4 Na bo bavuga bati: “Ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha tubwirizwa kuyisubiza ni nyabaki?” Maze bavuga bati: “Ibivyimba* bitanu bikozwe mu nzahabu be n’imbeba zo mu gahinga zitanu zikozwe mu nzahabu hisunzwe igitigiri c’abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya, kuko umwe wese muri mwebwe n’abatware b’urunani banyu mwashikiwe n’ikiza kimwe. 5 Muhingure ibishusho vy’ibivyimba vyanyu n’ibishusho vy’imbeba zo mu gahinga+ zanyu ziriko ziyogeza igihugu, kandi muninahaze+ Imana ya Isirayeli. Kumbure izokworosha ukuboko kwayo kuve kuri mwebwe no ku mana yanyu no ku gihugu canyu+. 6 Nakare, kubera iki mwokomantaza umutima nk’uko Misiri na Farawo bakomantaje umutima+? Mbega ikimara kubamerera nabi+ si ho baciye babarungika bakigira+? 7 Ubu rero nimukore umukogote mushasha+ hanyuma mufate inka zibiri zonsa, zitagiyeko ingǒgo*+, mwambike nya nka uwo mukogote muheze musubize i muhira inyana zazo zoye kuzikurikira. 8 Mufate nya sandugu ya Yehova, muyishire kuri uwo mukogote, kandi vya bintu bikozwe mu nzahabu+ mubwirizwa gusubiza ku Mana bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ mubishire mu gasandugu iruhande ya nya sandugu. Muheze muyirungike igende. 9 Hanyuma murereke: niyadugana inzira ija mu karere kayo, ija i Beti-shemeshi+, Imana ni yo izoba yadukoreye iki kibi gikomeye; mugabo nibitagenda gutyo, tuzoca tumenya yuko ukuboko kwayo atari kwo kwadukozeko; rizoba ari isanganya+ ryadushikiye.”

10 Nuko abo bantu babigenza gutyo. Bafata rero inka zibiri zonsa, bazambika umukogote, inyana zazo na zo bazugaranira i muhira. 11 Maze bashira iyo sandugu ya Yehova kuri nya mukogote+, be na ka gasandugu karimwo za mbeba zo mu gahinga zikozwe mu nzahabu na vya bishusho vy’ibivyimba. 12 Nuko nya nka zitangura kugenda zitumbereye imbere mu nzira ija i Beti-shemeshi+. Zijana inzira y’ikirari imwe, zigenda zirabira, ntizakebereza iburyo canke ibubamfu. Ico gihe, abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bariko bagendera inyuma yazo, gushika ku rubibe rwa Beti-shemeshi. 13 Abantu b’i Beti-shemeshi bariko bashwabura umwimbu w’ingano+ mu kiyaya co hasi. Bararamuye amaso bakabona nya Sandugu, banezerezwa no kuyibona. 14 Nuko nya mukogote winjira mu murima wa Yosuwa Umunyabeti-shemi, uguma uhagazeho, ahantu hari ibuye rinini. Basatura ibiti vya nya mukogote, maze nya nka+ bazishikanira Yehova bwa shikanwa riturirwa+.

15 Abalewi+ bururutsa rero isandugu ya Yehova na ka gasandugu kari kumwe na yo, akarimwo vya bintu bikozwe mu nzahabu, maze bayishira kuri nya buye rinini. Nuko abantu b’i Beti-shemeshi+ bashikana amashikanwa aturirwa, babandanya guhereza Yehova ibimazi kuri uwo musi.

16 Ba batware b’urunani+ b’Abafilisitiya barabibona hanyuma basubira i Ekuroni kuri uwo musi. 17 Ibi rero ni vyo bivyimba bikozwe mu nzahabu Abafilisitiya basubije Yehova bwa shikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+: ku bwa Ashidodi+ kimwe, ku bwa Gaza+ kimwe, ku bwa Ashikeloni+ kimwe, ku bwa Gati+ kimwe, ku bwa Ekuroni+ kimwe. 18 Kandi nya mbeba zo mu gahinga zikozwe mu nzahabu zari zihwanye n’igitigiri c’ibisagara vyose vy’Abafilisitiya vyegukira ba batware b’urunani batanu, kuva ku gisagara gikingijwe ibihome gushika ku kigwati co mu gihugu hagati.

Kandi rya buye rinini bateretseko isandugu ya Yehova ni icabona gushika n’uyu musi mu murima wa Yosuwa Umunyabeti-shemi. 19 Nuko atangura kwica abantu b’i Beti-shemeshi+, kubera bari baravye isandugu ya Yehova. Muri bo yicamwo abantu mirongo irindwi​—⁠abantu ibihumbi mirongo itanu*⁠—​maze abantu batangura kuboroga kuko Yehova yari yatsinze hasi abantu agasasika inganda bimwe bikomeye+. 20 Vyongeye, abantu b’i Beti-shemeshi bavuga bati: “Ni nde azoshobora guhagarara imbere ya Yehova iyo Mana nyeranda+, kandi ino izova muri twebwe ije kwa nde+?” 21 Amaherezo batuma intumwa ku baba i Kiriyati-yeyarimu+, bati: “Abafilisitiya bagarukanye isandugu ya Yehova. Nimumanuke, muyidugane iwanyu+.”

7 Maze abantu b’i Kiriyati-yeyarimu+ baraza hanyuma badugana isandugu ya Yehova, bayinjiza mu nzu ya Abinadabu+ ku murambi, hanyuma Eleyazari umuhungu wiwe aba ari we beza ngo arinde iyo sandugu ya Yehova.

2 Nuko kuva ku musi iyo Sandugu yatangura kuba i Kiriyati-yeyarimu, imisi iguma igwira, ku buryo iba imyaka mirongo ibiri, kandi inzu ya Isirayeli yose icurira intimba Yehova+. 3 Samweli abwira inzu ya Isirayeli yose ati: “Nimba mugarutse kuri Yehova+ n’umutima wanyu wose, nimukure imana z’inyamahanga hagati muri mwebwe+ be n’ibishusho vya Ashitoreti+, maze mwerekeze umutima wanyu kuri Yehova ata gukevya kandi mumukorere wenyene+, na we azobarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya+.” 4 Nuko bene Isirayeli bakuraho za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+, batangura gukorera Yehova wenyene.

5 Maze Samweli avuga ati: “Nimukoranirize hamwe Isirayeli yose+ i Mizipa+, kugira ngo ndabasengere+ kuri Yehova.” 6 Nuko bakoranira hamwe i Mizipa, maze bavoma amazi, bayasuka imbere ya Yehova hanyuma barisonzesha kuri uwo musi+. Batangura kuvugira ng’aho bati: “Twaracumuye kuri Yehova+.” Samweli atangura gucira imanza+ bene Isirayeli i Mizipa.

7 Abafilisitiya bumva ko bene Isirayeli bari bakoraniye hamwe i Mizipa; nuko abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya baduga kurwanya Isirayeli. Bene Isirayeli bavyumvise, batangura kugira ubwoba kubera Abafilisitiya+. 8 Bene Isirayeli rero babwira Samweli bati: “Ntucereze ngo ureke kudutabariza Yehova Imana yacu+, kugira adukize mu kuboko kw’Abafilisitiya.” 9 Nuko Samweli afata umwagazi w’intama wonka, awushikanira Yehova bwa shikanwa riturirwa, ishikanwa ritangwa uko ryakabaye+; maze Samweli atangura gutabaza Yehova ku bwa Isirayeli+, Yehova na we aramwishura+. 10 Samweli ariko ashikana nya shikanwa riturirwa, Abafilisitiya baregereza kugira barwanye Isirayeli. Nuko kuri uwo musi Yehova aturagariza Abafilisitiya umuturagaro n’urwamo rukomeye+, kugira ngo abate mu muvurungano+; baratsindwa imbere ya Isirayeli+. 11 Nuko abagabo ba Isirayeli bahanuka i Mizipa maze bakurikira Abafilisitiya, baguma babica gushika mu bumanuko bwa Beti-kari. 12 Maze Samweli atora ibuye+, arishinga hagati ya Mizipa na Yeshana araheza aryita Ebenezeri*. Avuga rero ati: “Yehova yaradutabaye gushika n’ubu+.” 13 Gutyo Abafilisitiya bamarwa igabo, ntibongera kwinjira mu karere ka Isirayeli+; kandi ukuboko kwa Yehova kubandanya kurwanya Abafilisitiya imisi yose ya Samweli+. 14 Ibisagara Abafilisitiya bari baratwaye Isirayeli bibandanya kugaruka kuri Isirayeli, kuva i Ekuroni gushika i Gati, kandi akarere k’ivyo bisagara Isirayeli ikarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya.

Nuko haba amahoro hagati ya Isirayeli n’Abamori+.

15 Samweli abandanya gucira imanza Isirayeli imisi yose y’ubuzima bwiwe+. 16 Ku mwaka ku mwaka yaragira urugendo, akazunguruka i Beteli+ n’i Gilugali+ n’i Mizipa+, agacira imanza Isirayeli+ aho hantu hose. 17 Mugabo yarasubira i Rama+, kuko aho ari ho inzu yiwe yari, kandi aho ni ho yacira imanza Isirayeli. Nuko ahubakira igicaniro Yehova+.

8 Samweli amaze gusaza agena+ abahungu biwe ngo babe abacamanza ba Isirayeli. 2 Umuhungu wiwe w’imfura yitwa Yoweli+, umuhungu wiwe agira kabiri na we akitwa Abiya+. Bacira imanza i Beyeri-sheba. 3 Abahungu biwe ntibagendera mu nzira ziwe+, mugabo bari bahengamiye ku kurondera inyungu y’akarenganyo+ kandi baremera igiturire+, bakagoreka urubanza+.

4 Mu nyuma abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ bose bakoranira hamwe, baza kuri Samweli i Rama, 5 bamubwira bati: “Ehe washaje, mugabo abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe. Ubu rero nutugenere umwami+ wo kuducira imanza, nk’ayandi mahanga yose.” 6 Mugabo ico kintu kiba kibi mu maso ya Samweli, kuko bari bavuze ngo: “Duhe umwami wo kuducira imanza,” nuko Samweli atangura gusenga Yehova+. 7 Maze Yehova abwira Samweli ati+: “Niwumvirize ijwi ry’abo bantu ku vyo bakubwira vyose+; kuko atari wewe banse, mugabo ni jewe banse ngo sindababere umwami+. 8 Nk’uko ibikorwa vyabo vyose biri, ivyo bakoze kuva umusi nabadugana ndabakuye mu Misiri+ gushika uyu musi, mu kuba bagumye banta+ bagakorera izindi mana+, ni ko nawe bariko bakugirira. 9 Ubu rero niwumvirize ijwi ryabo. Ariko ubaburire ushimitse, kandi ntubure kubamenyesha uburenganzira bw’umwami azobaganza+.”

10 Nuko Samweli abwira amajambo yose ya Yehova abantu bariko bamusaba umwami. 11 Avuga ati: “Ubu ni bwo buzoba uburenganzira+ bw’umwami azobaganza: Abahungu banyu azobatwara+ abashire mu mikogote+ yiwe ari abiwe, no mu bagendera ku mafarasi biwe+, kandi bamwe bazobwirizwa kwiruka imbere y’imikogote yiwe+; 12 kandi azokwigenera abakuru baganza ibihumbi+ n’abakuru baganza mirongo itanitanu+, abandi na bo kugira bamurimire+ no kugira bashwabure umwimbu wiwe+ no kugira bahingure ibirwanisho+ vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+. 13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abavanzi b’amavuta manovu n’abatetsi n’abakora igikorwa co kwotsa+. 14 Imirima yanyu n’imirima yanyu y’imizabibu+, n’imirima yanyu y’imyelayo+, imyiza kuruta iyindi, azoyitwara ayihe koko abasuku biwe. 15 Azotwara ic’icumi ku mirima yanyu y’imbuto n’ic’icumi ku mirima yanyu y’imizabibu+, abihe abakozi biwe bo ku kirimba+ n’abasuku biwe. 16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’amasho yanyu meza kuruta ayandi, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu gikorwa ciwe+. 17 Azotwara ic’icumi ku mikuku+ yanyu, namwe ubwanyu muzoba abasuku biwe. 18 Emwe, uwo musi muzoboroga kubera umwami wanyu mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura+.”

19 Ariko abantu banka kwumviriza ijwi rya Samweli+, bavuga bati: “Oya, ahubwo umwami ni we azotuganza. 20 Na twebwe nyene tubwirizwa kumera nk’ayandi mahanga yose+; umwami wacu azoducira koko imanza kandi asohoke imbere yacu, arwane intambara zacu.” 21 Nuko Samweli yumviriza amajambo yose y’abo bantu; maze ayavugira mu matwi ya Yehova+. 22 Nuko Yehova abwira Samweli ati: “Niwumvirize ijwi ryabo, ubashirireho umwami wo kubaganza+.” Samweli abwira rero abagabo ba Isirayeli ati: “Umwe wese naje mu gisagara ciwe.”

9 Kandi hari umugabo wo muri Benyamini, akaba yitwa Kishi+, mwene Abiyeli, Abiyeli wa Zerori, Zerori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya, Umubenyamini+, umugabo akomeye w’umutunzi+. 2 Yari afise umuhungu yitwa Sauli+, w’umukangara kandi mwiza; nta muntu n’umwe muri bene Isirayeli yamurusha ubwiza; kuva ku bitugu vyiwe kuduga yari muremure kuruta abantu bose+.

3 Nuko indogobwa z’ingore+ za Kishi se wa Sauli ziratakara. Kishi abwira rero Sauli umuhungu wiwe ati: “Ndakwinginze utore umwe mu basuku hanyuma uhaguruke, uje kurondera izo ndogobwa z’ingore.” 4 Nuko aca mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, hanyuma aca mu gihugu ca Shalisha+, mugabo ntibazitora. Maze baca mu gihugu ca Shayalimu, ariko si ho zari. Hanyuma aca mu gihugu c’Ababenyamini, mugabo ntibazitora.

5 Bashika mu gihugu ca Zufi; nuko Sauli abwira umusuku wiwe yari kumwe na we ati: “Ingo dusubire inyuma, kugira ngo dawe ntahave areka kwiyumvira nya ndogobwa, agahagarika umutima koko ku bitwerekeye+.” 6 Mugabo amubwira ati: “Ndakwinginze wumvirize! Hariho umuntu w’Imana+ muri iki gisagara, kandi uwo muntu arubahwa. Ivyo avuga vyose biraranguka ata kabuza+. Ingo tujeyo ubu. Hari aho yotubwira inzira dutegerezwa kujana.” 7 Sauli aca abwira nya musuku wiwe ati: “None hamwe twogenda, uwo muntu twomushira iki+? Kuko umukate wazimanganye mu vyo dutekeramwo, kandi nta kintu na kimwe kihari co gushira uwo muntu w’Imana y’ukuri bwa ngabirano+. None dufise iki?” 8 Nya musuku yongera rero kwishura Sauli, avuga ati: “Ehe mu kuboko kwanje hari ica kane ca shekeli+ y’ifeza; ndagiha ata kabuza uwo muntu w’Imana y’ukuri, na we ntabura kutubwira inzira yacu.” 9 (Kera muri Isirayeli uku ni ko umuntu yavuga agiye kurondera Imana: “Nimuze tuje kwa rubonyi+.” Kuko umuhanuzi wo muri iki gihe kera yitwa rubonyi.) 10 Maze Sauli abwira umusuku wiwe ati: “Ijambo ryawe ni ryiza+. Ingo tugende.” Nuko baja mu gisagara aho nya muntu w’Imana y’ukuri yari.

11 Bariko baraduga umudugo uja mu gisagara, bahura n’abakobwa bari basohotse kuvoma amazi+. Bababwira rero bati: “Rubonyi+ yoba ari aha hantu?” 12 Na bo barabishura, bati: “Ni ho ari. Ehe, ari imbere yawe. Nunyaruke rero, kuko uyu musi yaje mu gisagara, kubera ko uno musi hari ikimazi+ ku bw’abantu mu kibanza gikirurutse*+. 13 Mukimara kwinjira mu gisagara, muca mumubona, imbere y’uko aduga mu kibanza gikirurutse kurya; kuko abantu badashobora kurya atarashika, kubera ko ari we ahezagira nya kimazi+. Inyuma y’ivyo ni ho gusa abatumiwe bashobora kurya. Ubu rero nimuduge, kuko we muca mumubona buno nyene.” 14 Nuko baduga mu gisagara. Bashitse hagati mu gisagara, erega, ehe Samweli yariko araza guhura na bo kugira ngo aduge mu kibanza gikirurutse.

15 Nayo Yehova, ku musi w’imbere y’uko Sauli aza, yari yahishuriye*+ Samweli, ati: 16 “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini+; uze umurobanuze amavuta+ abe indongozi y’abantu banje Isirayeli. Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya+, kuko nabonye amarushwa y’abantu banje, kubera ko amaborogo yabo yanshikiriye+.” 17 Nuko Samweli abona Sauli, Yehova na we amwishura ati: “Ng’uyo wa muntu nakubwira nti: ‘Uyu ni we azogumiza hamwe abantu banje+.’”

18 Nuko Sauli yegera Samweli hagati mw’irembo maze avuga ati: “Ndakwinginze umbwire: Inzu ya rubonyi iri hehe?” 19 Samweli na we yishura Sauli ati: “Ni jewe rubonyi. Nuduge imbere yanje mu kibanza gikirurutse; muraza gusangira nanje uno musi+, maze nzokurungika mu gitondo, kandi ibiri mu mutima wawe vyose nzobikubwira+. 20 Nayo za ndogobwa z’ingore watakaza mu misi itatu iheze+, ntuzishireko umutima+, kuko zabonetse. None ibintu vyose vy’igikundiro vyo muri Isirayeli ni ivya nde+? Mbega si ivyawe n’ivy’inzu yose ya so?” 21 Sauli aca arishura, ati: “Mbega sindi Umubenyamini wo mu muryango mutoyi+ hanyuma y’iyindi mu miryango ya Isirayeli+? Kandi umuryango wanje si umuryango ata co uvuze kuruta iyindi mu miryango yose igize umuryango wa Benyamini+? Ni kubera iki none umbwiye ikintu nk’ico+?”

22 Samweli aca afata Sauli n’umusuku wiwe, abajana mu vyumba vy’uburiro maze abaha ikibanza ku mutwe+ w’abari batumiwe; bari nk’abagabo mirongo itatu. 23 Mu nyuma, Samweli abwira umutetsi ati: “Tanga wa mugabane naguha, umwe nakubwira nti: ‘Wushire ku ruhande hafi yawe.’” 24 Nya mutetsi aca akurako ukuguru n’ivyari kuri kwo, agushira imbere ya Sauli. Maze avuga ati: “Ng’iki icari cabitswe. Nugishire imbere yawe. Nurye, kuko cabikiwe wewe ku bw’iki gihe cashinzwe, kugira ngo usangire n’abatumiwe.” Nuko uwo musi Sauli asangira na Samweli. 25 Hanyuma bava muri ico kibanza gikirurutse+ bamanuka mu gisagara, maze abandanya kuyagira na Sauli hejuru ku nzu+. 26 Nuko bavyuka kare, maze umutwenzi ukimara gutambika, Samweli ahamagara Sauli ari hejuru ku nzu, avuga ati: “Vyuka nkurungike.” Nuko Sauli aravyuka maze bompi, ni ukuvuga we hamwe na Samweli, barasohoka hanze. 27 Bariko baramanukana ku mubari w’igisagara, Samweli abwira Sauli ati: “Bwira uwo musuku+ arengane imbere yacu”​—⁠nuko ararengana⁠—​“nayo wewe, hagarara rero kugira ngo ndakwumvishe ijambo ry’Imana.”

10 Samweli atora rero agakarabo+ k’amavuta, ayasuka ku mutwe wiwe maze aramusoma+, hanyuma avuga ati: “Mbega si kubera ko Yehova yakurobanuje amavuta ngo ube indongozi+ y’intoranwa yiwe+? 2 Niwagenda uvanye nanje uyu musi, uraza kubona abagabo babiri hafi y’imva ya Rasheli+ mu karere ka Benyamini i Zeluza, na bo barakubwira bati: ‘Za ndogobwa z’ingore waja kurondera zarabonetse, mugabo ubu so wawe yahevye ivya nya ndogobwa z’ingore+, ahagarika umutima ku biberekeye, mu kuvuga ati: “Ngira nte ku bijanye n’umuhungu wanje+?”’ 3 Ubandanye uvuye ng’aho ugere kure, ushike ku giti kinini ca Tabori, maze ng’aho abagabo batatu baduze ku Mana y’ukuri i Beteli+ baraza guhura nawe, umwe atwaye utwagazi tw’impene+ dutatu, uwundi atwaye utumanyu dutatu tw’umukate tw’umuzingi+, uwundi na we atwaye umubindi munini w’umuvinyu+. 4 Maze barakubaza uko umerewe+ hanyuma baguhe imikate ibiri; uze kuyakira mu kuboko kwabo. 5 Inyuma y’ivyo ni ho uza kuja ku murambi w’Imana y’ukuri+, ahari ikirindiro+ c’Abafilisitiya. Niwashikayo, mu gisagara, urahura n’umugwi w’abahanuzi+ bamanutse bavuye mu kibanza gikirurutse+, bafise imbere yabo igicurarangisho c’imirya+ n’akagoma+ n’umwironge+ n’inanga+, mu gihe bazoba bariko bavuga bwa bahanuzi. 6 Maze impwemu+ ya Yehova ica itangura gukorera kuri wewe, nawe uravuga koko bwa muhanuzi+ uri kumwe na bo kandi urahindurwa ugirwe uwundi muntu. 7 Ivyo bimenyetso+ nivyagushikako, wigirire ico ukuboko kwawe gushoboye+, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe+. 8 Kandi uze unyitangire imbere umanuke i Gilugali+; ehe nzomanuka nze aho uri gushikana ibimazi biturirwa, guhereza ibimazi vy’ugusangira+. Uze ugume urindiriye imisi indwi+ gushika nje aho uri, nanje nzokumenyesha koko ico ukwiye gukora.”

9 Nuko akimara guhindukiza urutugu ngo agende avanye na Samweli, Imana itangura guhindura umutima wiwe iwugira uwundi+; ivyo bimenyetso+ vyose birashika kuri uwo musi. 10 Nuko bava ng’aho baja kuri wa murambi, kandi ehe hari umugwi w’abahanuzi bariko baza guhura na we; ako kanya impwemu y’Imana itangura gukorera kuri we+, maze atangura kuvuga bwa muhanuzi+ hagati muri bo. 11 Abari bamuzi bose bamubonye, babona yariko avuga ubuhanuzi ari kumwe n’abahanuzi. Nuko abantu babwirana bati: “Ibi ni ibiki vyashikiye mwene Kishi? Mbega Sauli na we ari mu bahanuzi+?” 12 Maze umuntu umwe wo ng’aho arishura, ati: “Mugabo none, se yabavyaye ni nde?” Ni co gituma ivyo vyabaye imvugo y’akagani+ ngo: “Mbega Sauli na we ari mu bahanuzi?”

13 Amaherezo arangiza kuvuga bwa muhanuzi maze aja muri ca kibanza gikirurutse. 14 Mu nyuma, mwene wabo na se wa Sauli abwira Sauli n’umusuku wiwe ati: “Mbega mwagiye hehe?” Na we avuga ati: “Kurondera za ndogobwa z’ingore+; twagumye tuja kuraba, mugabo si ho zari. Hanyuma dushika aho Samweli ari.” 15 Sewabo na Sauli aca avuga ati: “Ndabinginze mumbwire: Samweli yababwiye iki?” 16 Sauli na we abwira sewabo ati: “Yaratubwiye ata kwihenda yuko za ndogobwa z’ingore zabonetse.” Mugabo ca kintu Samweli yari yavuze kijanye n’ingoma, ntiyakimubwira+.

17 Nuko Samweli akoraniriza abantu imbere ya Yehova i Mizipa+, 18 abwira bene Isirayeli ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Ni jewe naduganye Isirayeli ndayikuye mu Misiri, nkarokora mwebwe mu kuboko kwa Misiri+ no mu kuboko kw’ubwami bwose bwabahahaza+. 19 Mugabo mwebwe, uno musi mutaye Imana yanyu+ yaza irabakiza ikabakura mu mabi mwarimwo yose no mu marushwa yanyu yose, hanyuma muvuga muti: “Oya, ahubwo umwami ni we ukwiye kudushiriraho ngo atuganze.” Ubu rero nimuhagarare imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu+ n’ibihumbi vyanyu.’”

20 Nuko Samweli yegeza hafi imiryango yose ya Isirayeli+, maze umuryango wa Benyamini uratorwa+. 21 Hanyuma yegeza hafi umuryango wa Benyamini akurikije imiryango yawo, maze hatorwa+ umuryango w’Abamatiri. Amaherezo Sauli mwene Kishi aratorwa+. Batangura kumurondera, mugabo ntibamuronka. 22 Ku bw’ivyo bongera gusiguza+ Yehova, bati: “Uwo mugabo yoba yaje ng’aha koko?” Yehova na we avuga ati: “Ehe yinyegeje+ mu mizigo.” 23 Nuko biruka kumukurayo. Igihe yahagarara hagati mu bantu, yari muremure kuruta abandi bantu bose kuva ku bitugu kuduga+. 24 Maze Samweli abwira abantu bose ati: “Mwabonye uwo Yehova yatoye+, yuko ata n’umwe ameze nka we mu bantu bose?” Nuko abantu bose batangura gusemerera bati: “Umwami nabeho+!”

25 Maze Samweli abwira abantu ivy’uburenganzira bujanye n’ingoma+, avyandika mu gitabu araheza agishira imbere ya Yehova. Hanyuma Samweli arungika abantu bose, umwe wese ku nzu yiwe. 26 Nayo Sauli, aja i muhira iwe i Gibeya+, maze abagabo b’intwari Imana yari yakoze ku mutima bajana na we+. 27 Ariko abantu b’imburakimazi+ bavuga bati: “Mbega uyu azodukiza gute+?” Nuko baramusuzugura+, ntibamuzanira ingabirano+. Mugabo we abandanya kumera nk’ikiragi+.

11 Maze Nahashi Umwamoni+ araduga hanyuma arakambika ngo atere Yabeshi+ muri Gileyadi. Abagabo bose b’i Yabeshi baca babwira Nahashi bati: “Nugirane isezerano natwe kugira ngo tugukorere+.” 2 Mugabo Nahashi Umwamoni ababwira ati: “Nimwemera iki kintu ni ho nzorigirana namwe: nimwemera nkabanogora+ ijisho ryanyu ry’iburyo ryose, nanje nzotegerezwa kubishira kuri Isirayeli yose biyibere iceyi+.” 3 Abagabo b’inararibonye ba Yabeshi na bo bamubwira bati: “Nuduhe ikiringo c’imisi indwi; tuzorungika intumwa mu karere kose ka Isirayeli, hanyuma nimba ata wo kudukiza+ ariyo, tuzoca ata kabuza dusohoka tuze kuri wewe.” 4 Amaherezo nya ntumwa zishika i Gibeya+ ha Sauli ziraheza zivugira nya majambo mu matwi y’abantu, maze abantu bose batangura gushira ijwi hejuru no kurira+.

5 Mugabo ehe, Sauli yariko araza akurikiye ubusho avuye mu gahinga, maze Sauli avuga ati: “Abantu bafise ingorane iyihe ko barira?” Batangura kumwiganira amajambo y’abagabo b’i Yabeshi. 6 Sauli yumvise ayo majambo impwemu+ y’Imana itangura gukorera kuri we, ishavu ryiwe rica rirarurumba cane+. 7 Afata rero amashūri abiri, ayahimbaguramwo ibihimba maze abirungika mu karere kose ka Isirayeli+ biciye mu kuboko kw’intumwa, avuga ati: “Uwo muri twebwe wese atazosohoka ngo akurikire Sauli na Samweli, uku ni ko amasho yiwe azogirirwa+!” Nuko ubwoba+ buvuye kuri Yehova+ bugwa ku bantu ku buryo basohoka nk’umuntu umwe+. 8 Maze abaharurira+ i Bezeki, bene Isirayeli bagera ku bihumbi amajana atatu, abagabo ba Yuda na bo ibihumbi mirongo itatu. 9 Babwira rero izo ntumwa zari zaje bati: “Ibi ni vyo muri bubwire abagabo ba Yabeshi muri Gileyadi: ‘Ejo hazoba ubukiriro ku bwanyu izuba niryakara+.’” Nuko nya ntumwa ziza kubimenyesha abagabo ba Yabeshi, na bo baranezerwa. 10 Abagabo ba Yabeshi bavuga rero bati: “Ejo tuzosohoka tuze aho muri, namwe muze mutugirire ibintu vyose mubona ko ari vyiza mu maso yanyu+.”

11 Ku musi ukurikira, Sauli+ ashira abantu mu migwi itatu+; hanyuma binjira hagati mw’ikambi mw’iterama ryo mu gitondo+ maze bica Abamoni+ gushika ku murango izuba rikaze. Habonetse bakeyi basigaye, barashwiragizwa, ntihasigara muri bo babiri bari kumwe+. 12 Abantu rero babwira Samweli bati: “Ni nde avuga ngo: ‘Mbega Sauli ni we yoba umwami wo kutuganza+?’ Nimutange abo bantu tubice+.” 13 Mugabo Sauli avuga ati: “Nta muntu ari bwicwe kuri uyu musi+, kuko uno musi Yehova yashikije ubukiriro muri Isirayeli+.”

14 Mu nyuma Samweli abwira abantu ati: “Ingo tuje i Gilugali+ kugira tunagurireyo ingoma+.” 15 Abantu bose rero baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere ya Yehova aho i Gilugali. Hanyuma batangira ibimazi vy’ugusangira ng’aho imbere ya Yehova+; nuko Sauli n’abagabo ba Isirayeli bose bahagirira umunezero mwinshi+.

12 Amaherezo Samweli abwira Isirayeli yose ati: “Ehe narumvirije ijwi ryanyu ku bijanye n’ibintu vyose mwambwiye+, ngo ndabimikire umwami wo kubaganza+. 2 Ubu rero, ng’uyu umwami ariko agendera imbere yanyu+! Nayo jewe, nashaje+ kandi nsigaye mfise imvi+; kandi abahungu banje, ng’abo bari kumwe namwe+; jewe nagendeye imbere yanyu kuva mu buto bwanje gushika uyu musi+. 3 Ndi hano. Nimunyagirize imbere ya Yehova n’imbere y’uwo yarobanuje amavuta+: Ni ishūri ya nde natwaye canke ni indogobwa ya nde natwaye+? Ni nde nagunze canke ni nde nakandamije? Ni mu kuboko kwa nde nakiriye amahera y’igipfukamunwa kugira ndayakoreshe mu kwihuma amaso+? Ndabibasubiza+.” 4 Na bo bavuga bati: “Ntiwatugunze, ntiwadukandamije, eka kandi ntiwakiriye ikintu na kimwe mu kuboko kw’umuntu n’umwe+.” 5 Ababwira rero ati: “Yehova ni icabona co kubagiriza, kandi uwo yarobanuje amavuta+ ni icabona uyu musi yuko ata kintu na kimwe musanze mu kuboko kwanje+.” Baca bavuga bati: “Ni icabona.”

6 Samweli abandanya kubwira abantu ati: “Yehova ni icabona, we yakoresheje Musa na Aroni akaba ari na we yaduganye ba sogokuruza banyu abakuye mu gihugu ca Misiri+. 7 Ubu rero nimuhagarare, ndabacire urubanza imbere ya Yehova nongere ndabiganire ibikorwa vy’ubugororotsi vya Yehova vyose+, ivyo yakoreye mwebwe na ba sogokuruza banyu.

8 “Yakobo akimara gushika mu Misiri+ hanyuma ba sogokuruza banyu bagatangura gutabaza Yehova+, Yehova yararungitse Musa+ na Aroni, kugira bakure ba sogokuruza banyu mu Misiri maze batume baba aha hantu+. 9 Mugabo batangura kwibagira Yehova Imana yabo+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kwa Sisera+ umukuru w’ingabo za Hazori no mu kuboko kw’Abafilisitiya+ no mu kuboko kw’umwami wa Mowabu+, maze bano baguma babarwanya. 10 Batangura rero gutabaza Yehova+ bati: ‘Twaracumuye+, kuko twahevye Yehova kugira dukorere za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+; ubu rero nuturokore+ mu kuboko kw’abansi bacu, kugira tugukorere.’ 11 Maze Yehova arungika Yerubayali+ na Bedani na Yefuta+ na Samweli+ hanyuma abarokora mu kuboko kw’abansi banyu bari irya n’ino, kugira ngo mwibereho mu mutekano+. 12 Mubonye ko Nahashi+ umwami wa bene Amoni aje kubarwanya, muguma mumbwira muti: ‘Oya, ahubwo umwami ni we akwiye kutuganza+!’ Ico gihe cose Yehova Imana yanyu ni we yari Umwami wanyu+. 13 Ubu rero ng’uyu umwami mwatoye, uwo mwasavye+; kandi ehe Yehova yashizeho umwami wo kubaganza+. 14 Nimwatinya Yehova+, mukamukorera+ koko kandi mukagamburuka ijwi ryiwe+, ntimugararize+ itegeko rya Yehova, mwebwe n’umwami azobaganza rero muzoba abantu bakurikira Yehova Imana yanyu. 15 Mugabo nimutagamburuka ijwi rya Yehova+, mukagarariza koko itegeko rya Yehova+, ukuboko kwa Yehova kuzobarwanya ata gukeka, mwebwe na ba so+. 16 N’ubu kandi nimuhagarare, murabe iki kintu gikomeye Yehova agira akore mu maso yanyu. 17 Mbega uyu musi si iyimbura+ ry’ingano? Ngira mpamagare+ Yehova kugira azane imituragaro n’imvura+; muheze mumenye mwongere mubone yuko ikibi canyu cagwiriye+, ico mwakoze mu maso ya Yehova mu kwisabira umwami.”

18 Samweli aca ahamagara Yehova+, maze Yehova atangura kuzana imituragaro n’imvura kuri uwo musi+, ku buryo abantu bose batinya cane Yehova na Samweli. 19 Nuko abantu bose batangura kubwira Samweli bati: “Nusengere+ abasuku bawe kuri Yehova Imana yawe, kuko tudashaka gupfa; kubera yuko twongeye ikibi ku bicumuro vyacu vyose mu kwisabira umwami.”

20 Samweli rero abwira abantu ati: “Ntimutinye+. Mwebwe, mwarakoze iki kibi cose. Gusa ntimukevye ngo mureke gukurikira Yehova+, kandi mutegerezwa gukorera Yehova n’umutima wanyu wose+. 21 Ntimuze mukevye ngo mukurikire ibitabaho+ ata co bimaze+ kandi bitarokora, kubera yuko ari ibitabaho. 22 Kuko Yehova atazota+ abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abantu biwe+. 23 Nayo jewe, ni ibitokwiyumvirwa yuko nocumura kuri Yehova mu kureka kubasengera+; ntegerezwa kubigisha+ inzira nziza+ kandi igororotse. 24 Gusa mutinye+ Yehova, kandi mumukorere mu kuri, n’umutima wanyu wose+; kuko raba ibintu bikomeye yabakoreye+. 25 Mugabo nimwakora ibibi n’akagagazo n’akantu, muzozimanganywa+, mwebwe n’umwami wanyu+.”

13 Sauli yari afise imyaka [?]* igihe yatangura kuganza+; amara imyaka ibiri aganza Isirayeli. 2 Nuko Sauli yitorera abagabo ibihumbi bitatu muri Isirayeli; ibihumbi bibiri bari kumwe na Sauli i Mikimashi+ no mu karere k’imisozi ka Beteli, igihumbi na bo bakaba bari kumwe na Yonatani+ i Gibeya+ ha Benyamini; abantu basigaye arabarungika, umwe wese kw’ihema ryiwe. 3 Maze Yonatani yica ikirindiro+ c’Abafilisitiya+ cari i Geba+; Abafilisitiya baravyumva. Nayo Sauli, ategeka ko havuzwa inzamba+ mu gihugu cose ati: “Abaheburayo nibumve!” 4 Nuko Isirayeli yose yumva bivugwa ngo: “Sauli yishe ikirindiro c’Abafilisitiya, none ubu Isirayeli isigaye inuka+ mu Bafilisitiya.” Abantu barakorana rero kugira bakurikire Sauli i Gilugali+.

5 Abafilisitiya na bo bakoranira hamwe ngo barwanye Isirayeli, imikogote y’intambara+ ibihumbi mirongo itatu n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu n’abantu mu bwinshi bangana n’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; nuko baraduga maze batangura gukambika i Mikimashi, mu buseruko bwa Beti-aveni+. 6 Abagabo ba Isirayeli babona ko bageze habi+, kuko abantu bari basugerejwe cane; nuko abantu baja kwinyegeza mu masenga+ no mu myobo no mu bitare no mu bibanza vyo mu kuzimu no mu vyobo vy’amazi. 7 Mbere Abaheburayo bajabuka Yorodani+, baja mu gihugu ca Gadi+ n’ica Gileyadi. Mugabo Sauli yari akiri i Gilugali, kandi abantu bose bamukurikira bajugumira+. 8 Nuko abandanya kurindira imisi indwi, gushika kuri ca gihe cashinzwe Samweli yari yaravuze+, mugabo Samweli ntiyaza i Gilugali; kandi abantu bariko barasanzara bamuvako. 9 Amaherezo Sauli avuga ati: “Nimunzanire ikimazi giturirwa n’ibimazi vy’ugusangira.” Aca atangura gushikana ico kimazi giturirwa+.

10 Akirangiza gushikana nya kimazi giturirwa, ng’uwo Samweli arashika. Nuko Sauli arasohoka kumusanganira no kumuhezagira+. 11 Maze Samweli avuga ati: “Ivyo wakoze ni ibiki+?” Sauli na we avuga ati: “Nabonye yuko abantu bari bashwiragiye bakamvako+, be n’uko wewe ubwawe utaje mu misi yashinzwe+, kandi ko Abafilisitiya bariko bakoranira i Mikimashi+, 12 nca nibwira nti+: ‘Noneho Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali ntaratakambira* Yehova.’ Naciye rero nigobera+, nshikana ikimazi giturirwa.”

13 Samweli aca abwira Sauli ati: “Wakoze ivy’ubupfu+. Ntiwagumije ibwirizwa+ rya Yehova Imana yawe, iryo yagutegetse+, kuko iyo uba warigumije, Yehova yoshimangiye ubwami bwawe kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero. 14 Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Emwe, Yehova azokwironderera umuntu ahimbara umutima wiwe+; kandi Yehova azomushinga ibanga ryo kuba indongozi+ y’abantu biwe, kuko utagumije ico Yehova yagutegetse+.”

15 Maze Samweli arahaguruka, ava i Gilugali aduga i Gibeya ha Benyamini, Sauli na we atangura guharūra abantu bari bakiri kumwe na we, nk’abagabo amajana atandatu+. 16 Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abantu bari bakiri kumwe na bo, baba i Geba+ ha Benyamini. Nayo Abafilisitiya, bari bakambitse i Mikimashi+. 17 Ingabo z’abasahuzi zarasohoka ikambi y’Abafilisitiya ziri mu migwi itatu+. Umugwi umwe wajana inzira ija i Ofura+, werekeza mu gihugu ca Shuwali, 18 uwundi mugwi wajana inzira ya Beti-horoni+, umugwi ugira gatatu na wo ukajana inzira ija ku rubibe ruraba mu mubande wa Zeboyimu, amaja mu gahinga.

19 Ico gihe nta mucuzi yaboneka mu gihugu cose ca Isirayeli, kuko Abafilisitiya bari baravuze bati: “Kugira ngo Abaheburayo ntibahingure inkota canke icumu+.” 20 Abisirayeli bose baza baramanuka ku Bafilisitiya kugira ngo umwe wese akarihishe ikirimisho ciwe canke isipiri yiwe canke ishoka yiwe canke agakero kiwe+. 21 Igiciro co gukarihisha cari pimu* ku birimisho no ku masipiri no ku bikoresho vy’amenyo atatu no ku mashoka no ku gukwikiza umuhunda w’inka+. 22 Nuko ku musi w’urugamba, ntihaboneka inkota+ canke icumu mu kuboko kw’umuntu n’umwe mu bari kumwe na Sauli na Yonatani; mugabo haboneka ikirwanisho ca Sauli+ n’ica Yonatani umuhungu wiwe.

23 Ico gihe ikirindiro+ c’Abafilisitiya carasohoka kikerekeza mu kanyuro k’i Mikimashi+.

14 Umusi umwe, Yonatani+ mwene Sauli abwira umusuku yatwara ibirwanisho vyiwe ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’Abafilisitiya bari hariya hakurya.” Mugabo ntiyabimenyesha se+. 2 Sauli yaba ku mubari wa Gibeya+, munsi y’igiti c’ikomamanga kiri i Miguroni; abantu bari kumwe na we bari nk’abagabo amajana atandatu+. 3 (Ahiya mwene Ahitubu+, Ahitubu mwene wabo na Ikabodi+, Ikabodi wa Finehasi+, Finehasi wa Eli+, umuherezi wa Yehova i Shilo+, yambara efodi+.) Abantu ntibari bazi ko Yonatani yagiye. 4 Hagati rero y’utuyira Yonatani yarondera kugira ngo ajabuke gutera ikirindiro+ c’Abafilisitiya, hari urutare rumeze nk’iryinyo hakuno be n’urutare rumeze nk’iryinyo hakurya; urutare rumwe rwitwa Bozezi, urundi na rwo rukitwa Sene. 5 Rimwe muri ayo menyo ryari rimeze nk’inkingi mu buraruko, aharabana na Mikimashi+, irindi na ryo rikaba mu bumanuko, aharabana na Geba+.

6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.” 7 Uwo amutwaza ibirwanisho aca amubwira ati: “Nukore ikiri mu mutima wawe cose. Nuje iyo wipfuza. Ehe ndi kumwe nawe nk’uko umutima wawe uri+.” 8 Maze Yonatani avuga ati: “Ehe tugira tujabuke tuje iyo abo bagabo bari, tubiyereke. 9 Nibatubwira bati: ‘Nimuhagarare gushika duhuye namwe!’, duca duhagarara aho turi, ntitubandanye kuduga iyo bari. 10 Mugabo nibavuga bati: ‘Nimuduge muturwanye!’, duce tuduga, kuko Yehova atabura kubatanga mu kuboko kwacu; ico ni co kiza kutubera ikimenyetso+.”

11 Nuko abo babiri biyereka ikirindiro c’Abafilisitiya. Maze Abafilisitiya bavuga bati: “Ehe Abaheburayo basokorotse mu binogo bari binyegejemwo+.” 12 Nuko abagabo bo kuri nya kirindiro bishura Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bati: “Nimuduge iyo turi, ico tubamenyesha+!” Yonatani aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Duga inyuma yanje, kuko Yehova atabura kubatanga mu kuboko kwa Isirayeli+.” 13 Nuko Yonatani abandanya kuduga agendera ku maboko+ n’amaguru, uwumutwaza ibirwanisho ari inyuma yiwe; maze Abafilisitiya batangura kugwa imbere ya Yonatani+, uwumutwaza ibirwanisho na we akaza arabicira inyuma yiwe+. 14 Ukwo gusasika inganda kwa mbere, ukwo Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bagize muri bo, guhitana abagabo nka mirongo ibiri, babicira ahantu hababa igice c’ihegitari y’umurima.

15 Nuko haba ukujugumira+ mw’ikambi mu gahinga no mu bantu bose bo kuri nya kirindiro; za ngabo z’abasahuzi+ zirajugumira na zo nyene, maze isi itangura kunyiganyiga+, ivyo biraheza bicika ukujugumira kuvuye ku Mana+. 16 Inderetsi za Sauli zari i Gibeya+ ha Benyamini zirabibona, kandi ehe, umuvurungano waja irya n’ino+.

17 Nuko Sauli abwira abantu bari kumwe na we ati: “Ndabinginze muharure, murabe uwasohotse avuye muri twebwe.” Baharūye, basanga Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho atari ho bari. 18 Sauli abwira rero Ahiya+ ati: “Niwigize hafi isandugu y’Imana y’ukuri+!” (Kuko isandugu y’Imana y’ukuri uwo musi yari kumwe na bene Isirayeli+.) 19 Sauli akiriko aravugana na nya muherezi+, wa muvurungano wari mw’ikambi y’Abafilisitiya urabandanya, urushiriza gukomera. Maze Sauli abwira uwo muherezi ati: “Kurayo ukuboko kwawe.” 20 Gutyo Sauli n’abantu bose bari kumwe na we barahamagarwa+. Baraza rero gushika ku rugamba, maze basanga inkota y’umwe wese yarabishijwe kuri mugenziwe+; nya mukinagizo uba uwukomeye cane. 21 Maze Abaheburayo bari barabaye ab’Abafilisitiya+ imbere y’aho kandi bakaba bari baraduganye na bo mw’ikambi irya n’ino, na bo nyene bashaka kwerekana ko bari kumwe na Isirayeli yari kumwe na Sauli na Yonatani. 22 N’abagabo bose ba Isirayeli bari binyegeje+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu bumva ko Abafilisitiya bahunze, na bo nyene batangura kuboma inyuma mu rugamba. 23 Yehova atangura gukiza Isirayeli kuri uwo musi+, kandi urugamba ruragenda rurenga i Beti-aveni+.

24 Abagabo ba Isirayeli bari bamerewe nabi kuri uwo musi, yamara Sauli arahiza abantu+ ati: “Aravumwe umuntu aza kugira ico ariye imbere yo ku mugoroba, gushika nihoye+ abansi banje!” Nuko ntihagira n’umwe mu bantu agira ico ahonja+.

25 Maze abo mu gihugu bose binjira mw’ishamba, ico gihe hasi mw’ishamba hakaba hari ubuki+. 26 Abantu binjiye mw’ishamba, babona ubuki buriko buratonyanga+, mugabo ntihagira n’umwe ashira ukuboko ku munwa wiwe, kuko abantu batinya ya ndahiro+. 27 Nayo Yonatani, igihe se yarahiza abantu ntiyumva+; atuma rero isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, arikoza mu kimamara c’ubuki araheza agarukana ukuboko ku munwa wiwe, maze amaso yiwe atangura guca ibibatsi+. 28 Umwe muri nya bantu aca avuga ati: “So wawe yarahije abantu ashimitse ati: ‘Aravumwe umuntu aza kurya umukate uyu musi+!’” (Abantu batangura kuruha+.) 29 Ariko Yonatani avuga ati: “Dawe yakwegeye igihugu ugukumirwa+. Ndabinginze murabe ingene amaso yanje yaciye ibibatsi kubera nahonjeje ubu buki bukeyi+. 30 Hari akantu iyo abantu baza kurya+ uno musi kw’isahu baronse ry’abansi babo+! Kuko ubu ugusasika Abafilisitiya kutabaye ugukomeye+.”

31 Kuri uwo musi, babandanya kwica Abafilisitiya kuva i Mikimashi+ gushika i Ayaloni+, maze abantu bararuha cane+. 32 Nuko abantu bagurukira kuri nya sahu n’umunoho n’akantu+, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+. 33 Nuko Sauli abwirwa ngo: “Ehe abantu bariko bacumura kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.” Aca avuga ati: “Mwahemutse. Imbere ya vyose nimutembagarize ibuye rinini aho ndi.” 34 Inyuma y’ivyo, Sauli avuga ati: “Nimukwiragire mu bantu, mubabwire muti: ‘Umwe wese muri mwebwe azane hafi yanje ishūri yiwe, kandi umwe wese azane intama yiwe; muzikererere muri iki kibanza muheze murye, ntimucumure kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.’” Nuko iryo joro abantu bose begeza hafi umwe wese ishūri yiwe yari mu kuboko kwiwe, bazikererera ng’aho. 35 Sauli yubakira rero Yehova igicaniro+. Ico kiba ari co atanguriyeko kwubakira Yehova ibicaniro+.

36 Mu nyuma Sauli avuga ati: “Tumanuke dukurikire Abafilisitiya mw’ijoro maze tubasahure gushika bukeye+, kandi ntidusigaze n’umwe muri bo+.” Na bo bavuga bati: “Nukore ikintu cose ubona ko ari ciza mu maso yawe.” Maze umuherezi avuga ati: “Twegere ng’aha Imana y’ukuri+.” 37 Nuko Sauli atangura gusiguza Imana ati: “Manuke nkurikire Abafilisitiya+? Urabatanga mu kuboko kwa Isirayeli+?” Mugabo ntiyamwishura kuri uwo musi+. 38 Sauli avuga rero ati: “Nimwegere hano+, mwebwe mwese abakurubakuru b’abantu+, maze musuzume neza mubone ukuntu iki gicumuro cashitse uyu musi. 39 Kuko, ndahiye ukubaho kwa Yehova we Murokozi wa Isirayeli, n’iyo hoba ari muri Yonatani umuhungu wanje, arapfa ata kabuza+.” Mugabo ntihagira n’umwe amwishura mu bantu bose. 40 Abandanya kubwira Isirayeli yose ati: “Mwebwe muherere ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umuhungu wanje duherere ku rundi ruhande.” Abantu baca babwira Sauli bati: “Nukore ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+.”

41 Maze Sauli abwira Yehova ati: “Ewe Mana ya Isirayeli, nutange Tumimu*+!” Nuko Yonatani na Sauli barafatwa, abantu na bo barera+. 42 Sauli rero avuga ati: “Nimugire ubupfindo+ kugira hafatwe ingingo hagati yanje na Yonatani umuhungu wanje.” Nuko Yonatani arafatwa. 43 Maze Sauli abwira Yonatani ati: “Mbwira: Wakoze iki+?” Yonatani rero amubwira ati: “Mu vy’ukuri nahonjeje ubuki bukeyi kw’isonga ry’inkoni iri mu kuboko kwanje+. Ndi hano! Nimpfe!”

44 Nuko Sauli avuga ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, niwagenda udapfuye+, Yonatani.” 45 Mugabo abantu babwira Sauli bati: “Mbega Yonatani arapfa, ari we yashikije ubu bukiriro bukomeye+ muri Isirayeli? Ni ibitokwiyumvirwa+! Turahiye ukubaho kwa Yehova+, hakagira n’agashatsi na kamwe+ ko ku mutwe wiwe gakorokera hasi; kuko yakoranye n’Imana uyu musi+.” Gutyo abantu bacungura+ Yonatani, ntiyapfa.

46 Sauli aca arareka gukurikira Abafilisitiya, maze Abafilisitiya baja ahantu habo+.

47 Nuko Sauli akomeza ingoma yiwe kuri Isirayeli+; atangura kurwanya abansi biwe bose irya n’ino, arwanya Mowabu+ na bene Amoni+ na Edomu+ n’abami ba Zoba+ n’Abafilisitiya+; kandi aho yahindukirira hose yarahashitsako urubanza+. 48 Abandanya kuba intwari+ kandi atangura kwica Amaleki+ no kurokora Isirayeli mu kuboko kw’abayisahura.

49 Bene Sauli bari Yonatani+ na Ishivi na Maliki-shuwa+; nayo amazina y’abakobwa biwe babiri, uwavutse ubwa mbere yitwa Merabu+, umuto na we akitwa Mikali+. 50 Umugore wa Sauli yitwa Ahinowamu umukobwa wa Ahimayazi; umukuru w’ingabo ziwe yitwa Abuneri+ mwene Neri, sewabo wa Sauli. 51 Kishi+ yari se wa Sauli, Neri+ se wa Abuneri na we akaba yari mwene Abiyeli.

52 Intambara yo kurwanya Abafilisitiya ibandanya kuba iyikomeye mu misi yose ya Sauli+. Igihe Sauli yaba abonye umugabo wese w’umunyenkomezi canke umuntu wese w’intwari, yaramwiyegereza+.

15 Maze Samweli abwira Sauli ati: “Ni jewe Yehova yatumye kukurobanuza amavuta+ ngo ube umwami w’igisata ciwe Isirayeli, ubu rero niwumvirize ijwi ry’amajambo ya Yehova+. 2 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Ntegerezwa kugira ico mbajije+ Amaleki ku vyo yagiriye Isirayeli igihe yamurwanya mu nzira ariko araduga avuye mu Misiri+. 3 Ubu rero nugende, wice Amaleki+, umutikizanye+ n’ivyo afise vyose, kandi ntumwumvire impuhwe; wice+ umugabo n’umugore, umwana n’uwonka+, ishūri n’intama, ingamiya n’indogobwa+.’” 4 Sauli ahamagaza rero abantu araheza abaharurira i Telayimu+: abagabo ibihumbi amajana abiri bari ku maguru be n’abagabo ibihumbi cumi ba Yuda+.

5 Nuko Sauli araza gushika ku gisagara ca Amaleki, maze abunda hafi y’umwonga. 6 Ico gihe Sauli abwira Abakeni+ ati: “Hogi, nimugende+, mumanuke muve hagati y’Abamaleki, kugira sindabazimanganye hamwe na bo. Wewe waragiriye ubuntu bwuzuye urukundo bene Isirayeli bose+ igihe baduga bavuye mu Misiri+.” Nuko Abakeni bava hagati muri Amaleki baragenda. 7 Inyuma y’ivyo, Sauli atangura kwica Amaleki+, kuva i Havila+ gushika i Shuri+, aharabana na Misiri. 8 Afata Agagi+ umwami wa Amaleki ari muzima, abandi bantu bose na bo abatikirisha ubugi bw’inkota+. 9 Mugabo Sauli n’abantu bumvira impuhwe Agagi n’ivyiza kuruta ibindi vyose mu mukuku no mu busho+, n’ibidoshe n’impfizi z’intama n’ivyari vyiza vyose, ntibashaka kubitikiza+. Nayo ibintu vyose bisuzuguritse kandi vyo gutabwa, bino barabitikiza.

10 Ijambo rya Yehova riza kuri Samweli, riti: 11 “Ndicujije+ koko kubona narimitse Sauli ngo abe umwami, kuko yasubiye inyuma+ akareka kunkurikira, kandi ntashitse amajambo yanje+.” Ivyo bibabaza Samweli+, aguma aririra Yehova ijoro ryose+. 12 Maze Samweli avyuka kare kugira abonane na Sauli mu gitondo. Mugabo Samweli amenyeshwa ngo: “Sauli yaje i Karumeli+, kandi ehe yishingiye icibutso+, hanyuma arahindukira, arajabuka maze amanuka i Gilugali.” 13 Amaherezo Samweli aza kuri Sauli, maze Sauli atangura kumubwira ati: “Uragahezagirwa+ na Yehova. Nashikije ijambo rya Yehova+.” 14 Mugabo Samweli avuga ati: “None urwo rwamo rw’umukuku numva mu matwi yanje rusobanura iki, be n’urwo rwamo rw’ubusho numva+?” 15 Sauli aca avuga ati: “Babizanye babikuye mu Bamaleki, kuko abantu+ bumviye impuhwe ivyiza kuruta ibindi vyose mu mukuku no mu busho, kugira bashikanire ibimazi Yehova Imana yawe+; mugabo ibisigaye twabitikije.” 16 Samweli aca abwira Sauli ati: “Geza aho! Ngira nkumenyeshe ivyo Yehova yambwiye muri iri joro+.” Na we amubwira ati: “Vuga!”

17 Samweli yongerako ati: “Mbega igihe wari mutoyi mu maso yawe bwite+ si ho waba umukuru w’imiryango ya Isirayeli, maze Yehova akakurobanuza amavuta+ ngo ube umwami wo kuganza Isirayeli? 18 Mu nyuma Yehova yaragutumye ku gikorwa, avuga ati: ‘Genda utikize ba bacumuzi+, Abamaleki, ubarwanye gushika ubatikije+.’ 19 Kubera iki none utagamburutse ijwi rya Yehova mugabo ukagurukira n’umunoho n’akantu kw’isahu+, ugakora ivyari bibi mu maso ya Yehova+?”

20 Ariko Sauli abwira Samweli ati: “Mugabo nagamburutse+ ijwi rya Yehova kuko nagiye ku gikorwa Yehova yari yandungitseko, kandi nazanye Agagi+ umwami wa Amaleki, mugabo Amaleki nayitikije+. 21 Abantu+ baciye batangura gutora kw’isahu intama n’inka, nzizanziza muri zo, izari izo gutikizwa, ngo zibe izo gushikanira ibimazi+ Yehova Imana yawe i Gilugali+.”

22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama; 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”

24 Maze Sauli abwira Samweli ati: “Nacumuye+, kuko nahonyanze itegeko rya Yehova n’amajambo yawe, kubera ko natinye abantu+, gutyo nkagamburuka ijwi ryabo. 25 Ubu rero, ndakwinginze uharire+ igicumuro canje, usubirane inyuma nanje kugira ngo nkubite inkoro hasi+ imbere ya Yehova.” 26 Mugabo Samweli abwira Sauli ati: “Sinsubirana inyuma nawe, kuko wanse ijambo rya Yehova, Yehova na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami aganza Isirayeli+.” 27 Samweli ariko arahindukira ngo agende, Sauli aca acakira impuzu* yiwe y’umwitero utagira amaboko, na yo irashikuka+. 28 Samweli aca amubwira ati: “Uyu musi Yehova agushikuyeko+ ingoma ya Isirayeli, kandi azoyiha ata kabuza mugenzawe ameze neza kukurusha+. 29 Vyongeye, Gahebuza wa Isirayeli+ ntazohemuka+, kandi ntazokwicuza, kuko atari umuntu yakuwe mw’ivu ngo yicuze+.”

30 Na we avuga ati: “Nacumuye. Ndakwinginze rero untere iteka+ imbere y’abagabo b’inararibonye b’igisata canje n’imbere ya Isirayeli, dusubirane inyuma; nanje rero ata gukeka ndakubita inkoro hasi imbere ya Yehova Imana yawe+.” 31 Nuko Samweli agaruka inyuma ya Sauli, maze Sauli akubita inkoro hasi imbere ya Yehova. 32 Inyuma y’ivyo Samweli avuga ati: “Nimunyegereze Agagi umwami wa Amaleki.” Maze Agagi aja iyo ari agonanwa, hanyuma Agagi atangura kwibwira ati: “Mu vy’ukuri umururazi w’urupfu wagiye.” 33 Ariko Samweli avuga ati: “Nk’uko nyene inkota yawe+ yahekuye abagore, ni ko na nyoko wawe+ azoba uwuhekuwe kuruta abandi bose mu bagore+.” Samweli aca ahimbagurira Agagi imbere ya Yehova i Gilugali+.

34 Nuko Samweli aja i Rama, Sauli na we aduga ku nzu yiwe i Gibeya+ ha Sauli. 35 Samweli ntiyongera kubona Sauli gushika ku musi yapfiriyeko, kuko Samweli yari yagiye mu vyo kugandarira+ Sauli. Nayo Yehova, aricuza kubona yari yarimitse Sauli ngo aganze Isirayeli+.

16 Amaherezo Yehova abwira Samweli ati: “Uzogandarira Sauli+ gushika ryari kandi jewe namwanse ngo ntaganze Isirayeli+? Niwuzuze ihembe ryawe amavuta+ hanyuma ugende. Ngira ngutume kuri Yese+ Umunyabetelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe+.” 2 Mugabo Samweli avuga ati: “Nogenda nte? Sauli niyavyumva ntazobura kunyica+.” Nuko Yehova yongera kuvuga ati: “Uze witwaze inka ikiri nto yo mu busho, hanyuma uze uvuge uti: ‘Nzanywe no gushikanira ikimazi Yehova+.’ 3 Hanyuma uze utumire Yese kuri nya kimazi; nanje nzokumenyesha ico ukwiye gukora+, maze undobanurize amavuta+ uwo nzokurangira.”

4 Nuko Samweli akora ivyo Yehova avuze. Ashitse i Betelehemu+, abagabo b’inararibonye b’igisagara batangura kujugumira+ babonanye na we, maze bavuga bati: “Ukuza kwawe kwoba gusobanura amahoro+?” 5 Aca avuga ati: “Gusobanura amahoro. Nzanywe no gushikanira ikimazi Yehova. Nimwiyeze+, hanyuma tujane kuri nya kimazi.” Maze yeza Yese n’abahungu biwe, araheza abatumira kuri ico kimazi. 6 Nuko binjiye maze akabona Eliyabu+, aca avuga ati: “Emwe, uwo Yehova yarobanuje amavuta ari imbere yiwe.” 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.” 8 Maze Yese ahamagara Abinadabu+ hanyuma amucisha imbere ya Samweli, mugabo avuga ati: “N’uyu Yehova ntiyamutoye.” 9 Ubukurikira Yese acisha ng’aho Shama+, mugabo Samweli avuga ati: “N’uyu Yehova ntiyamutoye.” 10 Yese acisha rero indwi mu bahungu biwe imbere ya Samweli; mugabo Samweli abwira Yese ati: “Abo Yehova ntiyabatoye.”

11 Amaherezo Samweli abwira Yese ati: “Aba ni bo bahungu bose?” Na we avuga ati: “Haracasigaye umuhererezi+, kandi ehe aragiye intama+.” Samweli aca abwira Yese ati: “Tuma baje kumurondera, kuko tutari bwicare ngo turye ataraza hano.” 12 Nuko atuma kumuzana. Na we yari inzobe+, akaba umusore afise amaso meza kandi asa neza. Maze Yehova avuga ati: “Haguruka umurobanuze amavuta, kuko ari uyu+!” 13 Samweli rero atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza hagati ya bene wabo. Nuko impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka aja i Rama+.

14 Nuko impwemu ya Yehova iva+ kuri Sauli, maze impwemu mbi+ ivuye kuri Yehova imutera ubwoba. 15 Abasuku ba Sauli bamubwira rero bati: “Ehe ubu impwemu mbi y’Imana iriko iragutera ubwoba. 16 Turakwinginze, umukama wacu ategeke abasuku bawe imbere yawe, kugira barondere umugabo w’umuhanga+ avuza inanga+. Maze impwemu mbi y’Imana niyaza kuri wewe, azoce acuraranga n’ukuboko kwiwe, kandi ntibizobura guca bikugendera neza.” 17 Sauli rero abwira abasuku biwe ati: “Ndabinginze mundonderere umugabo azi neza kuvuza inanga, muheze mumunzanire+.”

18 Umwe muri nya basuku arishura, ati: “Urazi, narabonye ko mwene Yese Umunyabetelehemu ari umuhanga mu vyo kuvuza inanga+; ni umugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi+, akaba n’umurwanyi+; ni umuntu avugana ubwenge+, akaba n’umugabo aremye neza+, kandi Yehova ari kumwe na we+.” 19 Maze Sauli atuma intumwa kuri Yese ati: “Nundungikire Dawidi umuhungu wawe, umwe ari kumwe n’umukuku+.” 20 Nuko Yese atora indogobwa n’umukate n’umukuza w’urushato+ w’umuvinyu n’akagazi k’impene, abirungikira Sauli biciye kuri Dawidi umuhungu wiwe+. 21 Gutyo Dawidi aza kwa Sauli maze aramukorera+; Sauli aramukunda cane, arahava aba uwumutwaza ibirwanisho+. 22 Sauli atuma rero kuri Yese ati: “Ndakwinginze Dawidi agume ankorera, kuko yagize ubutoni mu maso yanje.” 23 Ibi rero ni vyo vyaba: impwemu y’Imana ije kuri Sauli, Dawidi yaca atora inanga akayivuza n’ukuboko kwiwe; ivyo vyatuma Sauli aruhurirwa, bikamugendera neza, maze nya mpwemu mbi ikamuvako+.

17 Hanyuma Abafilisitiya+ bakoraniriza hamwe amakambi yabo ngo barwane intambara. Bamaze gukoranira hamwe i Soko+, ahegukira Yuda, bakambika rero hagati ya Soko na Azeka+, i Efesi-damimu+. 2 Nayo Sauli n’abagabo ba Isirayeli, bakoranira hamwe maze bakambika mu kiyaya co hasi ca Ela+; hanyuma batonda urugamba kugira ngo bahure n’Abafilisitiya. 3 Abafilisitiya bari bahagaze ku musozi hakuno, Abisirayeli na bo bahagaze ku musozi hakurya, hagati yabo hakaba hari umubande.

4 Nuko igihangange kimwe kirasohoka kivuye mu makambi y’Abafilisitiya; izina ryaco ryari Goliyati+, w’i Gati+, uburebure bwaco bukaba bwari amatambwe atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambwe ry’intoke rimwe*+. 5 Ku mutwe wiwe hari inkofero y’umujumpu, kandi yari yambaye ikoti y’ivyuma, y’ibigaragamba bisobekeranye, uburemere bwa nya koti y’ivyuma+ bukaba bwari shekeli z’umujumpu ibihumbi bitanu. 6 Haruguru y’ibirenge vyiwe hari ibikingira imirundi vy’umujumpu, hagati y’ibitugu vyiwe na ho hakaba ikobero+ ry’umujumpu. 7 Uruti rw’icumu ryiwe rwari rumeze nk’igiti kizingirwako inyuzi c’abajishi b’impuzu+, icuma c’icumu ryiwe na co kikaba cari shekeli z’icuma amajana atandatu; kandi uwatwara inkinzo yagutse yagendera imbere yiwe. 8 Maze arahagarara hanyuma atangura guhamagara abatonze urugamba ba Isirayeli+, ababwira ati: “Kubera iki musohotse gutonda urugamba? Mbega sindi Umufilisitiya namwe mukaba abasuku+ ba Sauli? Nimwitorere umugabo, hanyuma amanuke iyo ndi. 9 Niyashobora kurwana nanje akanyica koko, duca tuba abasuku banyu. Mugabo jewe ninamushobora nkamwica koko, muca muba abasuku bacu, mudukorere+.” 10 Uwo Mufilisitiya abandanya kuvuga ati: “Jewe uyu musi ndacokoye+ koko abatonze urugamba ba Isirayeli. Nimumpe umugabo turwane+!”

11 Sauli+ na Isirayeli yose bumvise ayo majambo y’uwo Mufilisitiya, baca bagira ubwoba, baratinya rwose+.

12 Kandi Dawidi yari umuhungu wa wa Munyefurata+ w’i Betelehemu ha Yuda yitwa Yese. Uno yari afise abahungu umunani+. Mu misi ya Sauli, uwo mugabo yari amaze gusaza. 13 Nuko bene Yese batatu bakuru baragenda. Bakurikira Sauli mu ntambara+; amazina ya nya bahungu biwe batatu bagiye mu ntambara yari Eliyabu+ imfura, n’umuhungu wiwe agira kabiri Abinadabu+ be n’uwugira gatatu Shama+. 14 Dawidi yari umuhererezi+; nuko abo batatu bakuru bakurikira Sauli.

15 Kandi Dawidi yaragenda akongera akagaruka avuye kwa Sauli kugira ngo aragire intama+ za se i Betelehemu. 16 Wa Mufilisitiya yama yegereza kare mu gitondo no ku mugoroba, agahagarara mu kibanza ciwe; amara imisi mirongo ine agenza atyo.

17 Maze Yese abwira Dawidi umuhungu wiwe ati: “Ndakwinginze ushire bene wanyu iyi efa y’intete zikaranze+ n’iyi mikate cumi, ubitware ningoga kw’ikambi, ubihe bene wanyu. 18 Iyi migabane cumi y’amata na yo uyishire umukuru w’igihumbi+; vyongeye, witwararike bene wanyu ku bijanye n’ukuntu bamerewe+, uheze uzane icemeza kivuye kuri bo.” 19 Muri ico gihe, Sauli na bo, be n’abandi bagabo ba Isirayeli bose bari mu kiyaya co hasi ca Ela+, bariko barwana n’Abafilisitiya+.

20 Nuko Dawidi avyuka kare mu gitondo, asigarana intama umurinzi maze atora ivyo ajana araheza aragenda, nk’uko Yese yari yamutegetse+. Igihe yashika imbere mw’ikambi+, inteko za gisirikare zariko zirasohoka zija gutonda urugamba+, maze zivuza akaruru k’intambara. 21 Isirayeli n’Abafilisitiya batonda rero urugamba, umurongo umwe uhanganye n’uwundi. 22 Buno nyene Dawidi afata imizigo+ yari yituye ayisigarana umurinzi w’imizigo+, maze yiruka iyo batonze urugamba. Ashitse, atangura kubaza ingene bene wabo bamerewe+.

23 Akiriko aravugana na bo, ng’ico ca gihangange, kimwe citwa Goliyati+ Umufilisitiya, icava i Gati+, cariko kiduga kivuye mu mirongo y’abatonze urugamba y’Abafilisitiya; gitangura rero kuvuga amajambo nk’amwe y’ubwa mbere+, maze Dawidi aravyumva. 24 Nayo abagabo ba Isirayeli bose, babonye nya mugabo, bacika ivutu barahunga kubera we, baratinya cane+. 25 Nuko abagabo ba Isirayeli batangura kuvuga bati: “Mwabonye urya mugabo ariko araduga? Kuko aduganywe no gucokora+ Isirayeli. Umugabo azomwica, umwami azomutungisha ubutunzi bwinshi, kandi azomuha umukobwa wiwe bwite+, kandi inzu ya se azoyiha umwidegemvyo muri Isirayeli+.”

26 Dawidi atangura rero kubwira abagabo bari bahagaze hafi yiwe ati: “Umugabo azokwica urya Mufilisitiya+, agakura koko iceyi kuri Isirayeli azogirirwa iki+? Nkako, uyo Mufilisitiya atagenyerewe+ ni nde aho acokora+ abatonze urugamba b’Imana nzima+?” 27 Maze abantu bamubwira amajambo nk’aya mbere bati: “Uku n’uku ni ko umuntu azomwica azogirirwa.” 28 Nuko Eliyabu+ mwene wabo mukuru aravyumva igihe yariko avugana na nya bagabo, maze ishavu rya Eliyabu rirurumbira Dawidi+, ku buryo avuga ati: “Wamanukanywe n’iki? Twa dutama dukeya twasigaye mu gahinga wadusigaranye nde+? Ubwanje ndazi neza ukwita imbere kwawe n’ububi bw’umutima wawe+, kuko wamanukanywe no kuraba urugamba+.” 29 Dawidi aca avuga ati: “None nkoze iki? Mbega ntikwari ukwivugira gusa+?” 30 Aca arahindukira ava iruhande yiwe, aja ku wundi muntu maze avuga nka rya jambo rya mbere+; abantu na bo bamwishura nka kumwe kwa mbere+.

31 Nuko bumva amajambo Dawidi avuga, maze bayavugira imbere ya Sauli. Ku bw’ivyo amutumako. 32 Maze Dawidi abwira Sauli ati: “Ntihagire umutima w’umuntu n’umwe udendebuka muri we+. Umusuku wawe ubwiwe aragenda, arwanye koko uwo Mufilisitiya+.” 33 Mugabo Sauli abwira Dawidi ati: “Ntushobora kuja kuri uwo Mufilisitiya kurwana na we+, kuko uri agahungu gusa+, na we akaba ari umurwanyi kuva mu buto bwiwe.” 34 Dawidi yongera kubwira Sauli ati: “Umusuku wawe yacitse umwungere wa se mu mukuku; intambwe iraza+, be n’idubu, kimwekimwe cose gitwara intama kiyikuye mu busho. 35 Nanje ndagikurikira, ndagikubita+, nkura nya gitungwa mu kanwa kaco. Kimvumbukiye, ndagicakira ivyanwa maze ndakigarika, ndacica. 36 Umusuku wawe yarishe nya ntambwe na nya dubu; n’uyo Mufilisitiya+ atagenyerewe ntabura kuba nka kimwe muri vyo, kuko yacokoye+ abatonze urugamba+ b’Imana nzima+.” 37 Maze Dawidi yongerako ati: “Yehova, we yandokoye mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu, ni we aza kundokora mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya+.” Sauli aca abwira Dawidi ati: “Genda, Yehova ubwiwe abane nawe+.”

38 Nuko rero Sauli yambika Dawidi impuzu ziwe yongera ashira inkofero y’umujumpu ku mutwe wiwe, hanyuma amwambika ikoti y’ivyuma. 39 Maze Dawidi akenyera inkota yiwe hejuru y’impuzu ziwe hanyuma atangura gutambuka mugabo ntiyabishobora, kuko atari amenyereye ivyo bintu. Amaherezo Dawidi abwira Sauli ati: “Sinshoboye gutambuka muri ibi bintu, kuko ntabimenyereye.” Nuko Dawidi aravyiyambura+. 40 Afata rero inkoni yiwe mu kuboko kwiwe, kandi yitorera mu mwonga amabuye atanu asenye kuruta ayandi maze ayashira mw’isaho yiwe y’abungere yatwaramwo ibintu, mu kuboko kwiwe na ho hakaba hari umugozi wiwe wo guteresha+. Atangura rero kwegera wa Mufilisitiya.

41 Nuko nya Mufilisitiya atangura kuza, arushiriza kwegera Dawidi, kandi wa mugabo yatwara inkinzo yagutse yari imbere yiwe. 42 Uwo Mufilisitiya aravye akabona Dawidi, atangura kumusuzugura+ kuko yari agahungu+, kandi yari inzobe+, agasa neza+. 43 Uwo Mufilisitiya rero abwira Dawidi ati: “Mbaye imbwa+, aho uza kuri jewe witwaje inkoni?” Nya Mufilisitiya aca ahamagarira akabi kuri Dawidi mu mazima y’imana ziwe+. 44 Nya Mufilisitiya abandanya kubwira Dawidi ati: “Ingo gusa kuri jewe, maze inyama zawe ndazihe ibiguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba+.”

45 Dawidi na we abwira uwo Mufilisitiya ati: “Uje kuri jewe witwaje inkota n’icumu n’ikobero+, mugabo jewe nje kuri wewe nitwaje izina rya Yehova nyen’ingabo+, Imana y’abatonze urugamba ba Isirayeli, iyo wacokoye+. 46 Uyu musi Yehova aragutanga mu kuboko kwanje+, nanje ndakwica ata kabuza, ndagukureko umutwe; kandi imivyimba y’ikambi y’Abafilisitiya uyu musi ndayiha koko ibiguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi+; kandi abantu bo kw’isi yose bazomenya yuko hariho Imana ya Isirayeli+. 47 Kandi iri shengero ryose riramenya ko Yehova adakirisha inkota canke icumu+, kuko urugamba ari urwa Yehova+, kandi arabatanga ata kabuza mu kuboko kwacu+.”

48 Nya Mufilisitiya arahaguruka, aguma aza, arushiriza kwegereza kugira ahure na Dawidi; nuko Dawidi atangura kunyaruka no kwiruka yerekeza aho batonze urugamba kugira ngo ahure na nya Mufilisitiya+. 49 Maze Dawidi atuma ukuboko mw’isaho yiwe, akurayo ibuye, ariteresha umugozi, ku buryo akubita+ nya Mufilisitiya mu ruhanga rwiwe maze iryo buye ryinjira mu ruhanga rwiwe, aca agwa hasi yubamye+. 50 Gutyo Dawidi, akoresheje umugozi wo guteresha be n’ibuye, arusha inkomezi uwo Mufilisitiya, agarika nya Mufilisitiya, aramwica; kandi nta nkota yari mu kuboko kwa Dawidi+. 51 Nuko Dawidi abandanya kwiruka, aca ahagarara hejuru y’uwo Mufilisitiya. Maze afata inkota yiwe+, ayisokora mu rwubati rwayo aramuhohosha ayimucishije umutwe+. Nuko Abafilisitiya babona ko umunyenkomezi wabo yari apfuye, baca barahunga+.

52 Abagabo ba Isirayeli n’aba Yuda baca rero barahaguruka, biha akaruru maze bakurikira+ Abafilisitiya gushika ku mubande+ no gushika ku marembo ya Ekuroni+; kandi abakomeretse ibikomere vyica bo mu Bafilisitiya baguma bagwa mu nzira kuva i Shayarayimu+, gushika i Gati no gushika i Ekuroni. 53 Hanyuma bene Isirayeli basubira inyuma, bareka gukurikirana bikaze Abafilisitiya maze baja mu vyo gusahura+ amakambi yabo.

54 Nuko Dawidi afata umutwe+ wa nya Mufilisitiya, awujana i Yeruzalemu, ibirwanisho vy’uwo Mufilisitiya na vyo abishira mw’ihema ryiwe+.

55 Maze rero igihe Sauli yabona Dawidi asohotse guhura na wa Mufilisitiya, yabwiye Abuneri+ umukuru w’ingabo ati: “Ako gahungu+ ni kene nde+ ga Abuneri?” Abuneri na we avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwawe mwami, sindabizi namba!” 56 Umwami avuga rero ati: “Wewe nubaze se w’uwo muhungu uwo ari we.” 57 Nuko, Dawidi akimara kugaruka avuye kwica wa Mufilisitiya, Abuneri aramufata amujana imbere ya Sauli, afise umutwe+ wa nya Mufilisitiya mu kuboko. 58 Sauli amubwira rero ati: “Harya uri mwene nde ga wa gahungu?” Dawidi na we avuga ati: “Umuhungu w’umusuku wawe Yese+ Umunyabetelehemu+.”

18 Akirangiza kuvugana na Sauli, umutima wa Yonatani+ ufatana+ n’uwa Dawidi, maze Yonatani atangura kumukunda nk’uko yikunda+. 2 Nuko Sauli aramugumya kuri uwo musi, ntiyamwemerera gusubira ku nzu ya se wiwe+. 3 Yonatani na Dawidi bagirana rero isezerano+, kuko yamukunda nk’uko yikunda+. 4 Vyongeye, Yonatani yiyambura umwitero utagira amaboko wari kuri we maze awuha Dawidi, be n’impuzu ziwe, eka mbere n’inkota yiwe n’umuheto wiwe n’umukaba wiwe. 5 Nuko Dawidi atangura kuza araja ku rugamba. Aho Sauli yamutuma hose yakorana ukwigengesera+, ku buryo Sauli amugira umukuru w’abarwanyi+; ivyo biba vyiza mu maso y’abantu bose no mu maso y’abasuku ba Sauli.

6 Nuko bashitse, Dawidi agarutse avuye kwica Abafilisitiya, abagore batangura gusohoka bavuye mu bisagara vyose vya Isirayeli baririmba+ bongera batamba kugira basanganire Sauli umwami, bafise utugoma+, banezerewe+ kandi bafise ibitari. 7 Nya bagore bariko barahimbaza ico kintu, baguma bitabiriza bati:

“Sauli yishe ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi mirongo+.”

8 Maze Sauli arashavura cane+; iryo jambo riba ribi mu maso yiwe, ku buryo avuga ati: “Dawidi bamuhaye ibihumbi mirongo, ariko jeho bampa ibihumbi; igisigaye gusa ni uko ahabwa ingoma+!” 9 Kuva uwo musi, Sauli yama arabana Dawidi umwikeko+.

10 Maze ku musi ukurikira+, impwemu mbi y’Imana itangura gukorera kuri Sauli+, ku buryo yifata nk’umuhanuzi+ mu nzu, mu gihe Dawidi yariko avuza umuziki n’ukuboko kwiwe+, nko mu misi y’imbere y’aho; kandi icumu ryari mu kuboko kwa Sauli+. 11 Nuko Sauli araririza nya cumu+, avuga ati: “Ngira ntobekeranye Dawidi n’uruhome+!”, mugabo Dawidi aramuzibukira, incuro zibiri+. 12 Maze Sauli atangura gutinya+ Dawidi kuko Yehova yari kumwe na we+, mugabo akaba yari yavuye kuri Sauli+. 13 Nuko Sauli amukura iruhande yiwe+ maze amugena kumubera umukuru w’igihumbi; kandi Dawidi yama aja ku rugamba akongera akagaruka ari imbere y’abantu+. 14 Dawidi yama akorana ukwigengesera+ mu nzira ziwe zose, kandi Yehova yari kumwe na we+. 15 Sauli aguma abona yuko akorana ukwigengesera cane+, ku buryo amutinya. 16 Isirayeli yose na Yuda barakunda Dawidi, kuko yaja ku rugamba akongera akagaruka ari imbere yabo.

17 Amaherezo Sauli abwira Dawidi ati: “Ng’uyu umukobwa wanje mukuru Merabu+. Ni we nzoguha ngo akubere umugore+. Ukire kumbera umuntu w’intwari, urwane intambara za Yehova+.” Mugabo Sauli, we yibwira ati: “Ukuboko kwanje ntikuze kuri we, mugabo ukuboko kw’Abafilisitiya kube ari kwo kuza kuri we+.” 18 Dawidi aca abwira Sauli ati: “Mbaye nde kandi abo mu muryango wanje, umuryango wa dawe, babaye bande muri Isirayeli, ku buryo noba umukwe w’umwami+?” 19 Ariko igihe co guha Dawidi Merabu, umukobwa wa Sauli, Merabu yari yaramaze guhabwa Adiriyeli+ Umumehola+ ngo amubere umugore.

20 Kandi Mikali+ umukobwa wa Sauli, yarakunda Dawidi; nuko babimenyesha Sauli, ico kintu aragishima. 21 Maze Sauli avuga ati: “Nzomumuha kugira ngo amubere umutego+, no kugira ngo ukuboko kw’Abafilisitiya kuze kuri we.” Sauli abwira rero Dawidi ati: “Uno musi urunga nanje ubucuti bw’ukwabirana biciye kuri umwe muri abo bakobwa babiri.” 22 Vyongeye, Sauli ategeka abasuku biwe ati: “Mubwire Dawidi mu mpisho muti: ‘Urumva, umwami yahimbawe nawe, kandi abasuku biwe bose baragukunda. None rero niwunge n’umwami ubucuti bw’ukwabirana.’” 23 Nuko abasuku ba Sauli batangura kuvugira ayo majambo mu matwi ya Dawidi, mugabo Dawidi avuga ati: “Mbega ni icoroshe mu maso yanyu kwunga n’umwami ubucuti bw’ukwabirana kandi ndi umuntu ntahonikora+ kandi yubahwa buhoro+?” 24 Maze abasuku ba Sauli bamumenyesha bati: “Dawidi yavuze uku n’uku.”

25 Sauli aca avuga ati: “Mubwire Dawidi muti: ‘Umwami ntahimbarwa n’amahera y’inkwano+, ahubwo ahimbarwa n’udushato* ijana tw’Abafilisitiya+, kugira yihore+ abansi b’umwami.’” Ariko Sauli yari yateguye umugambi wo kugwisha Dawidi biciye ku kuboko kw’Abafilisitiya. 26 Abasuku biwe bamenyesha rero Dawidi ayo majambo, maze ico kintu Dawidi aragishima, ni ukuvuga kwunga n’umwami ubucuti bw’ukwabirana+, kandi imisi ntiyari bwarangire. 27 Nuko Dawidi arahaguruka, we n’abantu biwe bica+ mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri, hanyuma Dawidi azana udushato+ twabo araheza aduha umwami ari igitigiri gikwiye, kugira ngo yunge n’umwami ubucuti bw’ukwabirana. Sauli rero amuha Mikali umukobwa wiwe ngo amubere umugore+. 28 Nuko Sauli abona kandi amenya yuko Yehova yari kumwe na Dawidi+. Kandi Mikali umukobwa wa Sauli yaramukunda+. 29 Sauli yongera kugira ubwoba bwinshi cane kubera Dawidi, maze Sauli aba umwansi wa Dawidi nantaryo+.

30 Kandi abaganwa+ b’Abafilisitiya barakunda gusohoka kugaba ibitero; igihe cose basohotse, Dawidi yarakorana ukwigengesera+ kuruta abasuku ba Sauli bose; nuko izina ryiwe riba iry’agaciro rwose+.

19 Amaherezo Sauli abwira Yonatani umuhungu wiwe n’abasuku biwe bose ivyo kwica Dawidi+. 2 Nayo Yonatani umuhungu wa Sauli, yarahimbarwa cane na Dawidi+. Yonatani aca rero abwira Dawidi ati: “Sauli dawe ariko arondera kukwicisha. Ubu rero, ndakwinginze uze wiyubare mu gitondo; uze ube ahantu hihishije, ugume winyegeje+. 3 Nanje nzosohoka, mpagarare koko iruhande ya dawe mu gahinga aho uzoba uri, nkuvugire kuri dawe; nzoraba koko ibizoba, kandi sinzobura kubikumenyesha+.”

4 Yonatani rero avugira neza+ Dawidi kuri Sauli se wiwe, amubwira ati: “Umwami ntacumure+ ku musuku wiwe Dawidi, kuko atagucumuyeko kandi ibikorwa yagukoreye bikaba vyabaye vyiza cane+. 5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga*+ yica Abafilisitiya+, ku buryo Yehova yashikije ubukiriro bukomeye+ ku bwa Isirayeli yose. Warabibonye maze uranezerwa. Kubera iki none wocumura ku maraso y’intungane mu kwicisha+ Dawidi ata co azira+?” 6 Nuko Sauli yumvira ijwi rya Yonatani, maze Sauli arahira ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, ntazokwicwa.” 7 Mu nyuma, Yonatani ahamagara Dawidi maze Yonatani amubwira ayo majambo yose. Nuko Yonatani ajana Dawidi kuri Sauli, aguma imbere yiwe nka mbere+.

8 Mu nyuma intambara yongera kwaduka; nuko Dawidi arasohoka, arwanya Abafilisitiya, arabasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+, maze barahunga bava imbere yiwe+.

9 Nuko rero impwemu mbi ya Yehova+ iza kuri Sauli yicaye mu nzu yiwe, afise icumu mu kuboko, mu gihe Dawidi yariko avuza umuziki n’ukuboko kwiwe. 10 Sauli arondera rero gutobekeranya Dawidi n’uruhome+ akoresheje icumu, mugabo arazibukira+ ava imbere ya Sauli, ku buryo anega nya cumu mu ruhome. Nuko Dawidi arahunga kugira anyage amagara muri iryo joro+. 11 Mu nyuma Sauli atuma intumwa+ ku nzu ya Dawidi kugira ngo ziyigumizeko ijisho no kugira ngo amwicishe mu gitondo+; mugabo Mikali umugore wiwe abwira Dawidi ati: “Nutahunga muri iri joro, ejo uzoba wishwe.” 12 Buno nyene Mikali yururutsa Dawidi amucishije mw’idirisha, kugira ngo agende, ahunge, anyage amagara+. 13 Maze Mikali afata igishusho ca terafimu+, agishira ku buriri, hanyuma ashira urusenga rw’ubwoya bw’impene ahaja umutwe wa Dawidi, araheza agipfukisha impuzu.

14 Sauli aca atuma intumwa gufata Dawidi, mugabo Mikali avuga ati: “Ararwaye+.” 15 Sauli atuma rero nya ntumwa kuraba Dawidi, avuga ati: “Mumudugane ari ku buriri bwiwe mumunzanire kugira ngo ndamwicishe+.” 16 Nya ntumwa zinjiye, zisanga ya terafimu ku buriri n’urusenga rw’ubwoya bw’impene ahaja umutwe wiwe. 17 Sauli aca abwira Mikali ati: “Kubera iki wampenze+ gutyo, ukarungika umwansi+ wanje akanyaga amagara?” Mikali na we abwira Sauli ati: “Ni we yanyibwiriye ati: ‘Ndungika! Atari aho na ho ndakwica.’”

18 Nayo Dawidi, arahunga, anyaga amagara+ maze ashika kwa Samweli i Rama+. Atangura rero kumwiganira ivyo Sauli yari yaramugiriye vyose. Nuko we na Samweli baragenda, baba i Nayoti+. 19 Mu nyuma, Sauli amenyeshwa ngo: “Urazi! Dawidi ari i Nayoti i Rama.” 20 Sauli aca atuma intumwa gufata Dawidi. Zibonye abitereye mu myaka bo mu bahanuzi bariko baravuga ubuhanuzi, na Samweli ahagaze ng’aho mw’ibango ryiwe, abahagarariye, impwemu+ y’Imana iza kuri izo ntumwa za Sauli, maze zitangura kwifata nk’abahanuzi+ na zo nyene.

21 Babibwiye Sauli, atuma buno nyene izindi ntumwa, maze zitangura kwifata nk’abahanuzi na zo nyene. Sauli yongera rero gutuma intumwa, umugwi ugira gatatu, zitangura kwifata nk’abahanuzi na zo nyene. 22 Amaherezo na we nyene aja i Rama. Ashitse kw’itangi rinini riri i Seku, atangura kubaza ati: “Samweli na Dawidi bari hehe?” Na bo bavuga bati: “Hariya i Nayoti+ i Rama.” 23 Abandanya kugenda avuye ng’aho aja i Nayoti i Rama, maze impwemu+ y’Imana iza kuri we, egome, kuri we; akomeza kugenda kandi abandanya kwifata nk’umuhanuzi gushika ashitse i Nayoti i Rama. 24 Na we nyene yiyambura impuzu maze na we nyene yifata nk’umuhanuzi imbere ya Samweli, arambarara hasi ari gusa uwo murango wose n’iryo joro ryose+. Ni co gituma vyahavuye bivugwa ngo: “Mbega na Sauli ari mu bahanuzi+?”

20 Nuko Dawidi arahunga+, ava i Nayoti i Rama. Mugabo araza, avugira imbere ya Yonatani ati: “Nakoze iki+? Ikosa ryanje ni irihe, kandi ni igicumuro ikihe nakoze imbere ya so, ko ariko arondera ubuzima bwanje?” 2 Na we amubwira ati: “Ni ibitokwiyumvirwa+! Ntuzopfa. Erega dawe ntazokora ikintu kinini canke gitoyi ngo areke kugihishurira ugutwi kwanje+; none dawe yompishira iki ico kintu+? Ivyo ntibihora biba.” 3 Mugabo Dawidi yongerako indahiro+ ati: “So arazi neza yuko nagize ubutoni mu maso yawe+, akaba azovuga rero ati: ‘Yonatani ntabimenye kugira ntababare.’ Ariko mu vy’ukuri, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ n’ukubaho kwawe+, hari nk’intambuko imwe gusa hagati yanje n’urupfu+!”

4 Yonatani yongera kubwira Dawidi ati: “Ico uvuga cose ndakikugirira.” 5 Dawidi aca abwira Yonatani ati: “Ehe, ejo ni imboneko y’ukwezi+, kandi vyanka vyakunda mbwirizwa kuba nicaranye n’umwami mu gihe co gufungura; uze undungike ninyegeze+ mu gahinga gushika ku musi ugira gatatu ku mugoroba. 6 So niyaramuka abonye ko ntahari, uzoce uvuga uti: ‘Dawidi yaransavye ashimitse uruhusha rwo gukubitira i Betelehemu+ igisagara ciwe, kuko ng’aho hari ikimazi ca buri mwaka ku bw’umuryango wose+.’ 7 Niyavuga ati: ‘Ni vyiza!’, ivyo bizoba bisobanura amahoro ku musuku wawe. Mugabo niyaramuka ashavuye, uzoce umenya ko yiyemeje gukora ikibi+. 8 Uze ugirire ubuntu bwuzuye urukundo umusuku wawe+, kuko umusuku wawe wamwinjije hamwe nawe mw’isezerano+ rya Yehova. Mugabo nimba hari ikosa muri jewe+, nunyiyicire; nakare kubera iki wonshira so wawe?”

9 Yonatani na we avuga ati: “Ivyo ni ibitokwiyumvirwa ku bijanye nawe! Mugabo ninaramuka menye yuko dawe yiyemeje kukugirira nabi, mbega sinzobikumenyesha+?” 10 Maze Dawidi abwira Yonatani ati: “Ni nde azomenyesha nimba so wawe azokwishurana ugukara?” 11 Yonatani na we abwira Dawidi ati: “Nuze gusa dusohoke tuje mu gahinga.” Nuko bompi barasohoka, baja mu gahinga. 12 Maze Yonatani yongera kubwira Dawidi ati: “Yehova Imana ya Isirayeli+ abe icabona+ yuko nzocaca dawe ejo nk’aya mango, canke ku musi ugira gatatu; niyaba afitiye Dawidi agatima keza, mbega sinzoca ngutumako uwo kubihishurira ugutwi kwawe? 13 Hamwe vyoboneka ko ari vyiza kuri dawe kugukorera ikibi sindabihishurire koko ugutwi kwawe ngo nkurekure wigire amahoro vy’ukuri, Yehova agirire gutyo Yonatani, mbere n’ibirenze ivyo+. Yehova abane nawe+, nk’uko nyene yabanye na dawe+. 14 None ninaba nkiriho+, ntuzongirira ubuntu bwuzuye urukundo nk’ubwa Yehova, kugira simpfe+? 15 Eka ntuzokuraho ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, kugira bubane n’urugo rwanje gushika igihe kitagira urugero+. Eka mbere naho Yehova azokuraho abansi ba Dawidi, umwe wese akamukura ku butaka, 16 izina rya Yonatani ntirizokurwa ku nzu ya Dawidi+. Kandi Yehova ntazobura kubibaza mu kuboko kw’abansi ba Dawidi.” 17 Nuko Yonatani yongera kurahira Dawidi kubera urukundo yamukunda; kuko yamukunda nk’uko yikunda+.

18 Maze Yonatani abandanya kumubwira ati: “Ejo ni imboneko y’ukwezi+; bazobona koko yuko atari ho uri, kuko icicaro cawe kizoba kigaragara. 19 Kandi ku musi ugira gatatu ntibizobura kuboneka cane ko atari ho uri; uzoze hamwe wari wihishije+ ku musi w’ibikorwa, ugume ng’aha hafi y’iri buye. 20 Nayo jewe, nzorasa imyampi itatu ku ruhande rumwe rwaryo, kugira ndayirungike aho ngomba, ku co nzoba ntumberejeko. 21 Kandi ehe, nzotuma umusuku nti: ‘Genda urondere irya myampi.’ Ninabwira nya musuku ntomora, nti: ‘Ehe, imyampi iri hino yawe, yitore,’ uzoce uza, kuko bizoba bisobanura amahoro kuri wewe kandi nta ngorane izoba ihari, ndahiye ukubaho kwa Yehova+. 22 Mugabo ninabwira uwo muhungu nti: ‘Ehe, imyampi iri hirya yawe,’ uzoce ugenda, kuko Yehova azoba akurungitse. 23 Nayo ku bijanye n’ijambo tuvuganye+, jewe nawe, emwe, Yehova abe hagati yanje nawe gushika igihe kitagira urugero+.”

24 Nuko Dawidi yihisha mu gahinga+. Hanyuma haba imboneko y’ukwezi, maze umwami afata icicaro ciwe mu gihe c’imfungurwa kugira ngo afungure+. 25 Umwami yari yicaye mu cicaro ciwe nko mu bindi bihe, mu cicaro cari iruhande y’uruhome; Yonatani yarabana na we, Abuneri+ na we akaba yari yicaye iruhande ya Sauli, mugabo ikibanza ca Dawidi caragaragara. 26 Sauli ntiyagira ikintu na kimwe avuga uwo musi, kuko yibwira ati: “Hari ikintu cabaye ku buryo ahumanye+, kuko atahumanuwe.” 27 Nuko umusi ukurikira imboneko y’ukwezi, umusi ugira kabiri, ikibanza ca Dawidi kiguma kigaragara. Sauli aca abwira Yonatani umuhungu wiwe ati: “Kubera iki mwene Yese+ ataje ku mfungurwa ejo canke uno musi?” 28 Maze Yonatani yishura Sauli ati: “Dawidi yaransavye ashimitse uruhusha rwo kuja i Betelehemu+. 29 Yavuze ati: ‘Ndakwinginze undungike kuko dufise ikimazi c’umuryango mu gisagara; mwene wacu bwite ni we yantegetse. None rero, nimba ngize ubutoni mu maso yawe, ndakwinginze ureke njeyo mu mpisho, kugira ngo mbone bene wacu.’ Ni co catumye ataza ku meza y’umwami.” 30 Ishavu+ rya Sauli rica rirurumbira Yonatani maze amubwira ati: “Wa muhungu w’umusukukazi w’umugarariji we+, mbega sinzi neza yuko uriko uratora mwene Yese kugira ngo wimaramaze ubwawe no kugira ngo umaramaze ibihimba vy’akabanga vya nyoko+? 31 Kuko imisi yose mwene Yese azoba akiri muzima ku butaka, wewe n’ingoma yawe ntimuzoshimangirwa+. None rero tuma bamundonderere, kuko abwirizwa gupfa+.”

32 Ariko Yonatani yishura Sauli se wiwe ati: “Kubera iki yokwicwa+? Yakoze iki+?” 33 Sauli aca araririza icumu kuri we kugira ngo amwice+; gutyo Yonatani amenya ko se wiwe yari yiyemeje kwica Dawidi+. 34 Buno nyene Yonatani arahaguruka ava ku meza yarunguriye n’ishavu+, ntiyarya umukate ku musi ugira kabiri inyuma y’imboneko y’ukwezi, kuko yari yababajwe ku bijanye na Dawidi+, kubera yuko se wiwe yari yamutetereje+.

35 Nuko mu gitondo, Yonatani arasohoka aja mu gahinga, ha hantu yari yumvikanye na Dawidi+, kandi yari kumwe n’umusuku w’umukangara. 36 Abwira rero nya musuku wiwe ati: “Ndakwinginze wiruke, utore imyampi ngira ndase+.” Nya musuku ariruka, maze Yonatani ubwiwe arasa umwampi ku buryo umurengana. 37 Uwo musuku ashitse ahantu hari nya mwampi Yonatani yari arashe, Yonatani atangura gusemerera ari inyuma ya nya musuku ati: “Mbega umwampi nturi hirya yawe+?” 38 Yonatani abandanya gusemerera ari inyuma y’uwo musuku ati: “Ihute! Gira ningoga! Ntuhagarare!” Nuko uwo musuku wa Yonatani aja gutora nya myampi maze agaruka kuri shebuja. 39 Ariko nya musuku ntiyari azi ikintu na kimwe; Yonatani na Dawidi ni bo gusa bari bazi ivy’ico kintu. 40 Inyuma y’ivyo, Yonatani aha ibirwanisho vyiwe uwo musuku wiwe maze amubwira ati: “Genda, bitware mu gisagara.”

41 Nya musuku aragenda. Nayo Dawidi, ahaguruka avuye hafi y’aho, mu bumanuko. Maze yubarara hasi+, yunama incuro zitatu; nuko batangura gusomana+ no kuririranira, gushika Dawidi arize kumurusha+. 42 Yonatani abandanya kubwira Dawidi ati: “Genda amahoro+, kuko twempi twarahiye+ mw’izina rya Yehova duti: ‘Yehova ubwiwe abe hagati yanje nawe no hagati y’uruvyaro rwanje n’uruvyaro rwawe gushika igihe kitagira urugero+.’”

Nuko Dawidi arahaguruka aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.

21 Mu nyuma, Dawidi ashika i Nobu+ kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki+ atangura kujugumira abonanye na Dawidi maze amubwira ati: “Kubera iki uri wenyene, ata muntu n’umwe muri kumwe+?” 2 Dawidi aca abwira Ahimeleki umuherezi ati: “Umwami ubwiwe yantegetse ku bijanye n’ikintu kimwe+, hanyuma ambwira ati: ‘Ntihagire n’umwe agira ico amenya ku bijanye n’ico kintu ngutumye kandi ngutegetse.’ Kandi numvikanye n’abasore ko duhurira aha n’aha. 3 Ubu rero, nimba hari imikate itanu ufise, nuyimpe, canke umpe icoba kihari cose+.” 4 Mugabo nya muherezi yishura Dawidi ati: “Nta mikate isanzwe iri mu kuboko kwanje, mugabo hari imikate myeranda+; nya basore bakire gusa kuba n’imiburiburi baririnze abagore+.” 5 Nuko Dawidi yishura nya muherezi ati: “Mugabo abagore bagumijwe kure yacu nk’ubwa mbere, igihe naja ku rugamba+, kandi imibiri ya nya basore iracari myeranda, naho nya gikorwa ubwaco ari igisanzwe. Hari akantu uyu musi umuntu niyaba mweranda mu mubiri wiwe!” 6 Nuko nya muherezi amuha ivyari vyeranda+, kuko ata mikate yari ihari kiretse imikate yerekanwa* yari yakuwe imbere ya Yehova+, kugira hashirweho imikate mishasha ku musi wo kuyikuraho.

7 Kandi umwe mu basuku ba Sauli yari ng’aho uwo musi, akaba yari yagumijwe+ imbere ya Yehova; izina ryiwe ryari Dowegi+ Umwedomu+, umukuru w’abungere ba Sauli+.

8 Dawidi yongera kubwira Ahimeleki ati: “Nta co woba ufise hano, ari icumu canke inkota? Kuko ntatwaye mu kuboko kwanje inkota yanje canke ibirwanisho vyanje, kubera yuko nya kintu c’umwami cari icihutirwa.” 9 Uwo muherezi aca avuga ati: “Inkota ya Goliyati+ Umufilisitiya, umwe wicira mu kiyaya co hasi ca Ela+, ng’irya, izingiwe mu mutamana, inyuma ya efodi+. Nimba ushaka kuyitwarira, nuyitware, kuko ata kindi kiri hano kiretse yo.” Dawidi abandanya kuvuga ati: “Nta yindi imeze nka yo. Yimpe.”

10 Nuko Dawidi arahaguruka, abandanya guhunga+ kuri uwo musi kubera Sauli; amaherezo ashika kwa Akishi umwami wa Gati+. 11 Maze abasuku ba Akishi bamubwira bati: “Mbega uyo si Dawidi umwami+ wa ca gihugu? Mbega uyo si we baguma bitabira n’intambo+, ngo:

‘Sauli yishe ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi mirongo+’?”

12 Dawidi ashira ayo majambo ku mutima, aratinya+ cane kubera Akishi umwami wa Gati. 13 Nuko yigira+ umusazi mu maso yabo+, atangura kwigira nk’uwudakomeye mu mutwe ari mu kuboko kwabo, aguma aharagura ku miryango y’irembo yongera arekura urukonda rugatembera ku bwanwa bwiwe. 14 Amaherezo Akishi abwira abasuku biwe ati: “Murabona ko uyu mugabo ari umusazi. Kubera iki none mumunzaniye? 15 Mbega ndakenye abasazi, muko munzanira uyu ngo yifate nk’umusazi iruhande yanje? Uyu yonyinjirira mu nzu?”

22 Nuko Dawidi aragenda avuye ng’aho+, ahungira+ mw’isenga+ ry’i Adulamu+; bene wabo be n’inzu ya se yose baravyumva, baca bamanuka ng’aho iyo ari. 2 Maze abagabo bose bari mu marushwa+ n’abagabo bose bari bafise amadeni+ be n’abagabo bose badundumiwe ku mutima+ bakoranira kuri we+, araheza aba umukuru wabo+; yari kumwe n’abagabo nk’amajana ane.

3 Mu nyuma Dawidi ava ng’aho aja i Mizipe muri Mowabu, abwira umwami wa Mowabu+ ati: “Ndakwinginze dawe na mawe+ babane namwe gushika menye ico Imana izongirira.” 4 Nuko abacumbikira imbere y’umwami wa Mowabu, babandanya kubana na we imisi yose Dawidi yari ahantu hadashikwa+.

5 Mu nyuma Gadi+ umuhanuzi abwira Dawidi ati: “Ntugume uba ahantu hadashikwa. Genda, winjire mu gihugu ca Yuda+.” Nuko Dawidi aragenda, yinjira mu kibira ca Hereti.

6 Sauli yumva ko Dawidi n’abagabo bari kumwe na we bubuwe, igihe Sauli yari yicaye i Gibeya munsi y’igiti c’umukwaju+ ahantu hakirurutse, afise icumu+ ryiwe mu kuboko, abasuku biwe na bo bahagaze irya n’ino yiwe. 7 Maze Sauli abwira abasuku biwe bari bahagaze irya n’ino yiwe ati: “Ndabinginze mwumvirize yemwe Babenyamini. Mbega mwene Yese+ na we nyene azobaha mwese imirima be n’imirima y’imizabibu+? Mbega azobagena mwese kuba abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana? 8 Kuko mwese mwangīriye umugambi mubi; kandi nta n’umwe abihishurira ugutwi kwanje+ igihe umuhungu wanje agiranye isezerano+ na mwene Yese; nta n’umwe muri mwebwe anyumvira ikibabarwe ngo ahishurire ugutwi kwanje yuko umuhungu wanje yahagurukirije umusuku wanje kundwanya ari nk’uwubunze, nk’uko biri uyu musi.”

9 Dowegi+ Umwedomu, uwari yashizwe hejuru y’abasuku ba Sauli, aca arishura, avuga ati: “Narabonye mwene Yese aza i Nobu kwa Ahimeleki+ mwene Ahitubu+. 10 Uno amusiguriza+ Yehova; kandi yaramuhaye impamba+, amuha na ya nkota+ ya Goliyati Umufilisitiya.” 11 Umwami aca atuma guhamagara Ahimeleki mwene Ahitubu umuherezi n’inzu ya se yose, abaherezi bari i Nobu+. Nuko bose baza ku mwami.

12 Sauli rero avuga ati: “Ndakwinginze wumvirize, yewe mwene Ahitubu!” Na we ati: “Ndi hano mukama wanje.” 13 Sauli abandanya kumubwira ati: “Kubera iki mwangīriye umugambi mubi+, wewe na mwene Yese, mu kumuha imikate n’inkota, kandi agasigurizwa Imana, kugira ngo ahagurukire kundwanya ari nk’uwubunze, nk’uko nyene biri uyu musi+?” 14 Ahimeleki aca yishura umwami, ati: “Mbega ni nde mu basuku bawe bose ameze nka Dawidi+, umuntu w’umwizigirwa+, akaba n’umukwe+ w’umwami n’umukuru w’abacungera ubuzima bawe kandi aterwa iteka mu nzu yawe+? 15 Mbega uno musi ni ho ntanguye kumusiguriza+ Imana? Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe! Umwami ntagire ikintu na kimwe yegeka ku musuku wiwe no ku nzu yose ya dawe, kuko muri ivyo vyose umusuku wawe ata kintu na kimwe yari azi, ari gitoyi canke kinini+.”

16 Mugabo umwami avuga ati: “Urapfa ata kabuza+ Ahimeleki, mwe n’inzu ya so yose+.” 17 Umwami aca abwira abirutsi+ bari bahagaze irya n’ino yiwe ati: “Hindukire mwice abaherezi ba Yehova, kuko ukuboko kwabo na kwo nyene kuri kumwe na Dawidi no kubera ko bari bazi yuko ariko arahunga, ntibaheza ngo babihishurire ugutwi kwanje+!” Mugabo abasuku b’umwami ntibashaka gutuma ukuboko kwabo ngo bagurukire ku baherezi ba Yehova+. 18 Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino. 19 Na Nobu+ igisagara c’abaherezi, agikubitisha ubugi bw’inkota, akubitisha ubugi bw’inkota umugabo n’umugore, umwana n’uwonka, ishūri n’indogobwa n’intama.

20 Ariko umuhungu umwe wa Ahimeleki mwene Ahitubu, uwitwa Abiyatari+, anyaga amagara, arahunga kugira ngo akurikire Dawidi. 21 Maze Abiyatari abwira Dawidi ati: “Sauli yishe abaherezi ba Yehova.” 22 Dawidi aca abwira Abiyatari ati: “Nari nzi neza kuri urya musi+, kubera ko Dowegi Umwedomu ari ho yari, yuko atobuze kubibwira Sauli+. Ni jewe nakwegeye abo mu nzu ya so bose. 23 Nugumane nanje. Ntutinye, kuko uwo wese arondera ubuzima bwanje arondera ubuzima bwawe, kuko uri umuntu akeneye gukingirwa nanje+.”

23 Mu nyuma baza kumenyesha Dawidi bati: “Ehe Abafilisitiya bariko barwanya Keyila+, kandi bariko barasahura ibiri ku mbuga z’ikubitiro+.” 2 Nuko Dawidi asiguza+ Yehova, ati: “Ngende nice abo Bafilisitiya?” Yehova na we abwira Dawidi ati: “Genda wice Abafilisitiya maze ukize Keyila.” 3 Ingabo za Dawidi zica zimubwira ziti: “Ehe dutinya turi ng’aha muri Yuda+, hari akantu nitwaja i Keyila kurwanya Abafilisitiya batonze urugamba+!” 4 Nuko Dawidi yongera kandi gusiguza Yehova+. Yehova rero amwishura ati: “Haguruka, umanuke i Keyila, kuko ntanze Abafilisitiya mu kuboko kwawe+.” 5 Dawidi ajana rero n’ingabo ziwe i Keyila, arwana n’Abafilisitiya maze atwara ibitungwa vyabo, mugabo bobo arabasasika bimwe bikomeye; Dawidi aba umukiza w’ababa i Keyila+.

6 Kandi igihe Abiyatari+ mwene Ahimeleki yahungira kuri Dawidi i Keyila, yamanukanye efodi+ mu kuboko. 7 Mu nyuma Sauli amenyeshwa ngo: “Dawidi yaje i Keyila+.” Maze Sauli avuga ati: “Imana yamugurishije mu kuboko kwanje+, kuko yiyugaranye mu kwinjira mu gisagara gifise imiryango n’igihindizo.” 8 Sauli ahamagaza rero abantu bose mu ntambara, kugira bamanuke i Keyila, ngo bugarize Dawidi n’abantu biwe. 9 Nuko Dawidi amenya yuko Sauli yariko ategura kumukorera ikibi+. Ku bw’ivyo abwira Abiyatari umuherezi ati: “Egeza hafi efodi+.” 10 Dawidi abandanya kuvuga ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, umusavyi wawe yumvise neza yuko Sauli ariko arondera kuza i Keyila guhonya igisagara kubera jewe+. 11 Mbega bene amatongo b’i Keyila bazontanga mu kuboko kwiwe? Mbega Sauli azomanuka, nk’uko umusavyi wawe yavyumvise? Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, ndakwinginze ubimenyeshe umusavyi wawe.” Yehova aca avuga ati: “Azomanuka+.” 12 Dawidi abandanya kuvuga ati: “None bene amatongo b’i Keyila bazontanga, jewe n’abantu banje, mu kuboko kwa Sauli?” Yehova na we avuga ati: “Bazogutanga+.”

13 Dawidi aca ahagurukana n’abantu biwe, abagabo nk’amajana atandatu+, barasohoka bava i Keyila maze babandanya kugendagenda aho bashobora kugendagenda hose. Sauli amenyeshwa yuko Dawidi yari yahunze akava i Keyila, gutyo aheba gusohoka. 14 Nuko Dawidi aba mu gahinga mu bibanza bigoye gushikamwo, aguma aba mu karere k’imisozi, mu gahinga ka Zifu+. Sauli yaguma amurondera+, mugabo Imana ntiyamutanga mu kuboko kwiwe+. 15 Dawidi abandanya gutinya, kuko Sauli yari yasohotse kumurondera mu gihe Dawidi yari mu gahinga ka Zifu i Horeshi+.

16 Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, kugira ngo akomeze+ ukuboko kwiwe mu vyerekeye Imana+. 17 Hanyuma amubwira ati: “Ntutinye+; kuko ukuboko kwa Sauli dawe kutazokuronka, kandi wewe ubwawe uzoba umwami+ wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; na Sauli dawe ivyo arabizi+.” 18 Maze abo babiri bapfundika isezerano+ imbere ya Yehova; nuko Dawidi abandanya kuba i Horeshi, Yonatani na we aja iwe.

19 Mu nyuma abagabo b’i Zifu+ baduga kwa Sauli i Gibeya+, bavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyihishije+ hafi yacu mu bibanza bigoye gushikamwo, i Horeshi+, ku murambi wa Hakila+, uwuri ku ruhande rw’iburyo rwa Yeshimoni+? 20 Ubu rero, ewe mwami, nk’uko umutima wawe uhahamiye+ kumanuka, numanuke, natwe tuzomutanga mu kuboko kw’umwami+.” 21 Sauli aca avuga ati: “Muragahezagirwa na Yehova+, kuko mwangiriye impuhwe. 22 Ndabinginze mugende, mushishikare kandi gato, musuzume murabe aho ikibanza ciwe kiri, aho ashinga ikirenge​—⁠uwamubonye ng’aho wese⁠—​kuko bambwiye ko ari umunyarwenge koko+. 23 Murabe mwongere musuzume neza ku bijanye n’ahantu ho kwinyegeza hose yinyegeza; hanyuma muze, mugaruke aho ndi muzanye ikimenyamenya, nanje nzojana namwe; niyaba ari mu gihugu, nzomurondera rero nitonze mu bihumbi+ vyose vya Yuda.”

24 Nuko barahaguruka, baja i Zifu+ bitangiye imbere Sauli, mu gihe Dawidi n’abantu biwe bari mu gahinga ka Mawoni+ muri Araba+, mu bumanuko bwa Yeshimoni. 25 Mu nyuma Sauli azanana n’abantu biwe kumurondera+. Babimenyesheje Dawidi, aca amanuka ku rutare+ maze abandanya kuba mu gahinga ka Mawoni. Sauli avyumvise, yoma inyuma+ Dawidi muri ako gahinga ka Mawoni. 26 Amaherezo Sauli ashika hakuno y’umusozi, Dawidi n’abantu biwe na bo bari hakurya y’uwo musozi. Nuko Dawidi yihutira kugenda+ kubera Sauli; ico gihe Sauli n’abantu biwe bariko basugereza Dawidi n’abantu biwe ngo babacakire+. 27 Mugabo haza intumwa kuri Sauli, ivuga iti: “Niwihutire kugenda, kuko Abafilisitiya bagavye igitero mu gihugu!” 28 Sauli aca arahindukira areka kwoma inyuma Dawidi+, maze aja guhura n’Abafilisitiya. Ni co catumye bita aho hantu Urutare rw’Ukwigabura.

29 Maze Dawidi araduga avuye ng’aho, aja kuba mu bibanza bigoye gushikamwo i Eni-gedi+.

24 Sauli akimara kugaruka avuye gukurikira Abafilisitiya+, baza kumumenyesha bati: “Ehe Dawidi ari mu gahinga ka Eni-gedi+.”

2 Sauli aca atora abagabo b’abahizi ibihumbi bitatu+ muri Isirayeli yose, aja kurondera Dawidi+ n’abantu biwe ku bitandara vyambaye ubusa vy’impene zo mu misozi+. 3 Amaherezo ashika ku mpongore z’intama zubakishijwe amabuye zari iruhande y’inzira, ahari isenga. Sauli yinjirayo kwitabara+, mu gihe Dawidi n’abantu biwe bari mu bice vyo hirya cane vy’iryo senga+, bicaye. 4 Maze abantu ba Dawidi batangura kumubwira bati: “Ng’uyu wa musi, aho Yehova akubwira koko ati: ‘Ehe ntanze umwansi wawe mu kuboko kwawe+, umugirire nk’uko ubona ko ari vyiza mu maso yawe+.’” Maze Dawidi arahaguruka, agegena buhorobuhoro igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wa Sauli. 5 Mugabo inyuma y’ivyo, umutima wa Dawidi uguma umukubita+ kuko yari yacacuye igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wa Sauli. 6 Ku bw’ivyo abwira abantu biwe ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu, ko nogira ico kintu ku mukama wanje, uwo Yehova yarobanuje amavuta+, mu gutuma ukuboko kwanje ngo ndamugirire nabi, kuko ari uwo Yehova yarobanuje amavuta+.” 7 Nuko Dawidi ashwiragiza abantu biwe akoresheje ayo majambo, ntiyabakundira guhagurukira Sauli+. Nayo Sauli, arahaguruka ava muri iryo senga, abandanya inzira yiwe.

8 Inyuma y’ivyo Dawidi arahaguruka, asohoka muri iryo senga maze asemerera inyuma ya Sauli, ati: “Mukama wanje+ mwami!” Sauli aca araba inyuma, maze Dawidi arunama, mu maso hiwe hakora hasi+, akubita inkoro hasi. 9 Dawidi abandanya kubwira Sauli ati: “Kubera iki wumviriza amajambo y’abantu+, ngo: ‘Ehe Dawidi ariko arondera kukugirira nabi’? 10 Raba uyu musi amaso yawe arabonye ukuntu Yehova yagutanze uno musi mu kuboko kwanje mw’isenga; hari uwavuze ngo tukwice+, ariko nakwumviye akagongwe maze mvuga nti: ‘Sinotuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi umukama wanje, kuko ari uwo Yehova yarobanuje amavuta+.’ 11 Yewe dawe+, raba, ni ukuri raba mu kuboko kwanje igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wawe, kuko igihe nagicacura ntakwishe. Umenye kandi ubone yuko ata bubi+ canke umugararizo ngufiseko, kandi ko ntagucumuyeko, naho wewe uriko urabundira ubuzima bwanje ngo ubukureho+. 12 Yehova naducire urubanza twe nawe+; kandi Yehova ntazobura kumpora+ akabikubaza, ariko ukuboko kwanje ntikuzogukorako+. 13 Nk’uko nyene umugani w’aba kera uvuga uti: ‘Ububisha buzosohoka buvuye mu babisha+,’ ariko ukuboko kwanje ntikuzogukorako. 14 Mbega umwami wa Isirayeli yasohotse gukurikira nde? Uriko woma inyuma nde? Inyuma y’imbwa ipfuye+? Inyuma y’imbaragasa imwe rudende+? 15 Yehova nabe umucamanza, aducire urubanza twe nawe; azobiraba yifatire urubanza rwanje mu minwe+ maze ancire urubanza kugira ankize ukuboko kwawe.”

16 Dawidi akirangiza kubwira ayo majambo Sauli, Sauli aca avuga ati: “Mbega iryo ni ijwi ryawe ga mwananje Dawidi+?” Maze Sauli ashira ijwi hejuru, ararira+. 17 Yongera kubwira Dawidi ati: “Uragororotse kundusha+, kuko wewe wangiriye iciza+, nanje nkaba nakugiriye ikibi. 18 Wewe, uno musi urahishuye iciza wakoze ku binyerekeye, kuko Yehova yantanze mu kuboko kwawe+ mugabo ntunyice. 19 Mbega umuntu abonye umwansi wiwe, yomurungika akigira impore+? Yehova ubwiwe rero azoguhemba iciza+, kuko wangiriye iciza uyu musi. 20 Ubu rero, ehe ndazi neza ko uzoganza ata kabuza+, kandi ko mu kuboko kwawe ubwami bwa Isirayeli buzoramba vy’ukuri. 21 Nuko rero nundahire Yehova+ yuko utazokuraho uruvyaro* rwanje mu nyuma zanje be n’uko utazozimanganya izina ryanje ukarikura mu nzu ya dawe+.” 22 Nuko Dawidi arahira Sauli, hanyuma Sauli aja i muhira iwe+. Nayo Dawidi n’abantu biwe, baraduga baja mu kibanza kigoye gushikamwo+.

25 Mu nyuma Samweli+ arapfa; Isirayeli yose ikoranira hamwe, iramuborogera+ hanyuma imuhamba hafi y’inzu yiwe i Rama+. Maze Dawidi arahaguruka, amanuka mu gahinga ka Parani+.

2 Kandi hari umugabo i Mawoni+, akaba yarangurira igikorwa ciwe i Karumeli+. Uwo mugabo yari ahambaye cane: yari afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; yakora ivyo gukemura+ intama ziwe i Karumeli. 3 Uwo mugabo yitwa Nabali+, umugore wiwe na we akitwa Abigayili+. Uwo mugore yariyubara cane+ akaba kandi yari mwiza ku mubiri, ariko uwo mugabo yari inkazi kandi akaba mubi mu ngeso ziwe+; yari Umukalebu+. 4 Maze Dawidi yumva ari mu gahinga yuko Nabali yariko akemura+ intama ziwe. 5 Dawidi atuma rero imisore cumi, ayibwira ati: “Duge i Karumeli, mushike aho Nabali ari maze mumubaze mw’izina ryanje uko amerewe+. 6 Mubwire uwo mwene wacu muti: ‘Umererwe neza+, n’urugo rwawe nyene rumererwe neza, n’ivyo ufise vyose bimererwe neza. 7 Ubu rero, narumvise yuko ufise abakemuzi. Kandi abungere bawe barabaye kumwe natwe+. Ntitwabasindiye+, kandi nta kintu na kimwe cabo cabuze imisi yose bari i Karumeli. 8 Baza imisore yawe, na yo irakubwira, kugira ngo imisore yanje igire ubutoni mu maso yawe, kuko tuje ku musi mwiza. Ndakwinginze uhe abasuku bawe n’umuhungu wawe Dawidi ico ukuboko kwawe kworonka cose+.’”

9 Nuko imisore ya Dawidi iraza, ibwira Nabali nk’uko ayo majambo yose ari, mw’izina rya Dawidi, iraheza irarindira. 10 Mugabo Nabali yishura abasuku ba Dawidi ati: “Dawidi ni nde+, kandi mwene Yese ni nde? Erega muri iyi misi abasuku batoroka, umwe wese avuye imbere ya shebuja, basigaye ari benshi+. 11 None mfate umukate+ wanje, n’amazi yanje, n’inyama zanje zibazwe nabagiye abakemuzi banje, ndabihe abagabo ntazi n’iyo bava+?”

12 Nuko iyo misore ya Dawidi irahindukira, ifata inzira, isubira inyuma, iza kubimwiganira nk’uko ayo majambo yose ari. 13 Buno nyene Dawidi abwira abantu biwe ati: “Nimukenyere umwe wese inkota yiwe+!” Nuko barakenyera umwe wese inkota yiwe, na Dawidi nyene akenyera inkota yiwe; hanyuma batangura kuduga bakurikiye Dawidi, abagabo nk’amajana ane, ariko amajana abiri baguma bicaye iruhande y’imizigo+.

14 Muri ico gihe, umwe muri nya misore amenyesha Abigayili umugore wa Nabali ati: “Urazi! Dawidi yatumye intumwa zivuye mu gahinga kugira ngo yipfurize ineza databuja, mugabo uno azitera imirarwe+. 15 Kandi abo bagabo baratubereye abantu beza cane; ntibadusindiye, kandi nta kintu na kimwe twabuze imisi yose twagendagendanye na bo, igihe twari mu gahinga+. 16 Batubereye uruhome+ irya n’ino mw’ijoro no ku murango, imisi yose twari kumwe na bo, turagiye umukuku. 17 Ubu rero, umenye wongere urabe ico uri bukore, kuko hafashwe ingingo yo gushitsa ivyago+ kuri databuja no ku nzu yiwe yose, kubera yuko ari umuntu w’imburakimazi+ rwose ku buryo ata wogira ico amubwira.”

18 Abigayili+ aca arihuta, afata imikate amajana abiri be n’imibindi mininiminini ibiri y’umuvinyu+ n’intama zitanu ziteguwe+, n’ingero za seya* zitanu z’intete zikaranze+ n’udutsima ijana tw’inzabibu zumye+ n’udutsima amajana abiri tw’insukoni zafyonzwe zikegerana+, abishira ku ndogobwa. 19 Maze abwira imisore yiwe ati: “Nimunyitangire imbere+. Ehe ndaje inyuma yanyu.” Mugabo ntiyagira ikintu na kimwe abwira umugabo wiwe Nabali.

20 Mu gihe yariko aramanuka umusozi mu mpisho ari ku ndogobwa+, erega, ehe Dawidi n’abantu biwe bariko baramanuka baza guhura na we. Nuko ahura na bo. 21 Nayo Dawidi, yari yavuze ati: “Narindiye ubusa koko ikintu cose c’uwo mugabo mu gahinga ntihagira ikintu na kimwe mu vyiwe vyose kibura+, yamara iciza akinyishuye ikibi+. 22 Imana igirire gutyo abansi ba Dawidi, mbere n’ibirenze ivyo+, ninareka ngo buce+ hari n’umwe asigaye mu bantu biwe bose b’igitsina-gabo*+.”

23 Abigayili abonye Dawidi, aca yihutira kwururuka indogobwa maze agwa yubamye imbere ya Dawidi, arunama+ ashika hasi. 24 Hanyuma agwa ku birenge vyiwe+ maze avuga ati: “Ikosa niribe kuri jewe mukama wanje+; ndakwinginze umushumbakazi wawe avugire mu matwi yawe+, maze wumvirize amajambo y’umushumbakazi wawe. 25 Ndakwinginze, umukama wanje ntashire umutima kuri uwo mugabo w’imburakimazi+ Nabali, kuko nk’uko izina ryiwe riri, ari ko ari. Nabali* ni ryo zina ryiwe, nta bwenge agira+. Nayo jewe umushumbakazi wawe, sinabonye imisore y’umukama wanje watumye. 26 Ubu rero mukama wanje, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ be n’ukubaho kwawe+, Yehova yakubujije+ kwinjira mu vy’ukwagirwa n’amaraso+ no gutuma ukuboko kwawe bwite gushitsa ubukiriro bwawe+. Ubu rero, abansi bawe be n’abarondera kugirira nabi umukama wanje barakaba nka Nabali+. 27 Ubu rero, ku bijanye n’iyi ngabirano y’umuhezagiro+ umusukukazi wawe azaniye umukama wanje, ihabwe imisore igendera mu ntambuko+ z’umukama wanje. 28 Ndakwinginze uharire ukugabitanya kw’umushumbakazi wawe+, kuko Yehova azotuma ata kabuza inzu y’umukama wanje iramba+, kubera yuko intambara za Yehova ari zo umukama wanje arwana+; nayo ububi, ntibuzosangwa muri wewe mu misi yawe yose+. 29 Umuntu niyahaguruka kugira agukurikirane no kugira arondere ubuzima bwawe, ubuzima bw’umukama wanje buzoba koko butekeye mw’isaho y’ubuzima+ iri kumwe na Yehova Imana yawe+; mugabo ubuzima bw’abansi bawe azobutera nk’ubuvuye ahafukuye h’umugozi wo guteresha+. 30 Kandi kubera ko Yehova azogirira umukama wanje ineza ikwerekeye, nk’uko ivyo yavuze vyose biri, ntazobura kukugira indongozi ya Isirayeli+. 31 Kandi ivyo ntibitume uhungabana canke ngo bibere igitsitaza umutima w’umukama wanje, mu gusesa amaraso ata mvo+ no mu gutuma ukuboko kw’umukama wanje gushitsa ubukiriro bwiwe+. Yehova ntazobura kugirira ineza umukama wanje, nawe uze wibuke+ umushumbakazi wawe.”

32 Dawidi aca abwira Abigayili ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, we yakurungitse uyu musi guhura nanje! 33 Kandi hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe+, nawe uhezagirwe, wewe wambujije uyu musi gukora amaraso+ no gutuma ukuboko kwanje bwite gushitsa ubukiriro bwanje+. 34 Ariko ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana ya Isirayeli, we yambujije kukugirira nabi+, iyo utihutira kuza kunsanganira+, emwe, bwari guca kuri Nabali hadasigaye umuntu n’umwe w’igitsina-gabo+.” 35 Nuko Dawidi yakira mu kuboko kwa Abigayili ivyo yari amuzaniye, amubwira ati: “Niwidugire ku nzu yawe amahoro+. Raba, ndumvirije ijwi ryawe, nkwemereye ico usavye+.”

36 Mu nyuma Abigayili ashika aho Nabali ari, asanga ateretse inzimano mu nzu yiwe, inzimano imeze nk’iy’umwami+; umutima wa Nabali wari uryohewe, kandi yari yaborewe+ araherezako; Abigayili ntiyagira ikintu amubwira, ari gito canke kinini, gushika bukeye. 37 Nuko mu gitondo, umuvinyu umaze kuva kuri Nabali, umugore wiwe atangura kumwiganira ivyo bintu. Maze umutima wiwe+ umupfiramwo, na we ubwiwe acika nk’ibuye. 38 Inyuma y’ivyo, hahera nk’imisi cumi maze Yehova akubita+ Nabali, arapfa.

39 Dawidi yumva ko Nabali yari yapfuye; avuga rero ati: “Hahezagirwe Yehova, we yifatiye mu minwe urubanza+ rw’iceyi+ nasizwe akankura mu kuboko kwa Nabali kandi akarinda umusavyi wiwe ububi+; ububi bwa Nabali Yehova yabusubije ku mutwe wiwe+!” Nuko Dawidi atuma kubaza Abigayili ko yomutwara akamubera umugore+. 40 Abasuku ba Dawidi baza rero kuri Abigayili i Karumeli maze bamubwira bati: “Dawidi ubwiwe adutumye kuri wewe, ngo agutware umubere umugore.” 41 Buno nyene arahaguruka maze arunama mu maso hiwe hashika hasi+, hanyuma avuga ati: “Ehe umushumbakazi wawe ameze nk’umusukukazi wo kwoza ibirenge+ vy’abasuku b’umukama wanje+.” 42 Maze Abigayili+ yihutira guhaguruka, hanyuma yurira+ ku ndogobwa, incoreke ziwe zitanu zikaba zariko zigendera inyuma yiwe; ajana rero n’intumwa za Dawidi, araheza aba umugore wiwe.

43 Dawidi yari yaratwaye kandi Ahinowamu+ w’i Yezireyeli+; bano, egome, uko ari babiri, baba abagore biwe+.

44 Kandi Mikali+ umukobwa wa Sauli, umugore wa Dawidi, Sauli yari yamuhaye Paliti+ mwene Layishi, uwamuka i Galimu+.

26 Mu nyuma abagabo ba Zifu+ baza kuri Sauli i Gibeya+, bavuga bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje ku murambi wa Hakila+, urabana na Yeshimoni+?” 2 Nuko Sauli arahaguruka+, amanuka mu gahinga ka Zifu ari kumwe n’abagabo ibihumbi bitatu+, abahizi bo muri Isirayeli, aja kurondera Dawidi muri ako gahinga ka Zifu. 3 Sauli akambika ku murambi wa Hakila, uwurabana na Yeshimoni, iruhande y’inzira, mu gihe Dawidi yaba mu gahinga. Nuko abona ko Sauli yari yamukurikiye muri ako gahinga. 4 Dawidi arungika rero abatasi+ kugira ngo amenye yuko Sauli yari yaje koko. 5 Mu nyuma Dawidi arahaguruka, aja nya hantu Sauli yari yakambitse, maze Dawidi abona ahantu Sauli yari yaryamye, be na Abuneri+ mwene Neri, umukuru w’ingabo ziwe; Sauli yari aryamye imbere mw’ikambi+, abantu na bo bakambitse irya n’ino yiwe. 6 Maze Dawidi abwira Ahimeleki Umuheti+ na Abishayi+ mwene Zeruwiya+, mwene wabo na Yowabu, ati: “Ni nde amanukana nanje iyo Sauli ari, mw’ikambi?” Abishayi aca avuga ati: “Jewe ndamanukana nawe+.” 7 Nuko Dawidi ajana na Abishayi mw’ijoro aho nya bantu bari; maze basanga Sauli aryamye imbere mw’ikambi asinziriye, icumu ryiwe rishinze hasi, hafi y’umutwe wiwe; Abuneri n’abantu, bari baryamye irya n’ino yiwe.

8 Maze Abishayi abwira Dawidi ati: “Uyu musi Imana itanze umwansi wawe mu kuboko kwawe+. Ubu rero, ndakwinginze undeke ndamutobekeranye n’isi rimwe gusa, nkoresheje icumu; sindamutobekeranya kabiri.” 9 Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: “Ntumukureho: mbega ni nde yatumye ukuboko ngo agirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+ akaguma atagira ikimwagira+?” 10 Dawidi abandanya kuvuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, Yehova azomwikubitira+; canke umusi uri izina+ azopfa nk’abandi bose, canke azomanuka mu rugamba+ maze azimanganywe ata kabuza+. 11 Ni ibitokwiyumvirwa+ kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu+, ko notuma ukuboko kwanje+ ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+! None rero ndakwinginze utore icumu riri hafi y’umutwe wiwe n’ikarabiya ry’amazi, duheze twigire.” 12 Nuko Dawidi atora nya cumu na nya karabiya ry’amazi hafi y’umutwe wa Sauli baraheza barigira; ntihagira uwubibona+ canke uwubimenya canke uwikangura, kuko bose bari basinziriye, kubera yuko itiro rirerire+ rivuye kuri Yehova ryari ryabahwikiye. 13 Maze Dawidi aja hakurya, ahagarara kw’isonga ry’umusozi nka hariya; ikirere cari hagati yabo cari kinini.

14 Dawidi atangura rero gutera akamo nya bantu na Abuneri mwene Neri, ati: “Mbega ntiwishura ga Abuneri?” Abuneri+ arishura rero, avuga ati: “Uri nde wewe uteye akamo umwami?” 15 Dawidi abandanya kubwira Abuneri ati: “Mbega nturi umugabo? Kandi ni nde ameze nkawe muri Isirayeli? Kubera iki none utarinze umukama wawe umwami? Kuko umwe mu bantu yinjiye kugira akureho umwami umukama wawe+. 16 Ico kintu wakoze si ciza. Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, mukwiye gupfa+, kuko mutarinze+ umukama wanyu, uwo Yehova yarobanuje amavuta+. Ubu rero, nimurabe aho icumu ry’umwami n’ikarabiya ry’amazi+ biri, bimwe vyari hafi y’umutwe wiwe.”

17 Sauli rero amenya ijwi rya Dawidi, avuga ati: “Iryo jwi ni iryawe ga mwananje Dawidi+?” Dawidi na we avuga ati: “Ni ijwi ryanje, mukama wanje umwami.” 18 Yongerako ati: “Kubera iki umukama wanje ariko yoma inyuma umusuku wiwe+? Nkako, nakoze iki? Kandi ni ububi ubuhe buri mu kuboko kwanje+? 19 Ubu rero ndakwinginze, umukama wanje umwami yumvirize amajambo y’umusuku wiwe: Nimba Yehova ari we yagusunikiye kundwanya, namotere ishikanwa ry’intete+. Mugabo nimba ari abana b’abantu+, baravumwe imbere ya Yehova+, kuko uyu musi banyirukanye ngo siniyumvemwo ko nifatanije n’intoranwa ya Yehova+, mu kuvuga bati: ‘Genda ukorere izindi mana+!’ 20 Ubu rero, ntureke ngo amaraso yanje akorokere hasi mu maso ya Yehova+; kuko umwami wa Isirayeli yasohotse kurondera imbaragasa imwe rudende+, nk’uko umuntu ahiga inkware ku misozi+.”

21 Nuko Sauli avuga ati: “Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, kuko ntazosubira kukugirira nabi, kubera yuko ubuzima bwanje bwabaye ubw’agaciro+ mu maso yawe uyu musi. Ehe nakoze ivy’ubupfu, kandi nahuvye cane.” 22 Maze Dawidi arishura, ati: “Ng’iri icumu ry’umwami; umwe mu misore najabuke aritore. 23 Yehova ni we azokwishura umwe wese ubugororotsi+ bwiwe bwite n’ubwizigirwa bwiwe bwite, kuko Yehova uno musi yagutanze mu kuboko kwanje, nanje sinashaka gutuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+. 24 Kandi ehe, nk’uko ubuzima bwawe bwabaye ubuhambaye uyu musi mu maso yanje, abe ari ko ubuzima bwanje buba ubuhambaye mu maso ya Yehova+, kugira ngo andokore mu marushwa yose+.” 25 Sauli aca abwira Dawidi ati: “Uragahezagirwa, mwananje Dawidi. Emwe, uzokora ibintu bikomeye kandi uzotahukana intsinzi ata kabuza+.” Nuko Dawidi arigira; Sauli na we asubira ahantu hiwe+.

27 Ariko Dawidi avuga mu mutima wiwe ati: “Ubu rero umusi uri izina nzozimanganywa n’ukuboko kwa Sauli. Nta condutira guhungira+ ata kabuza mu gihugu c’Abafilisitiya+; maze Sauli ntazobura kudebukirwa ku bijanye nanje, ntiyongere kundondera mu karere ka Isirayeli kose+, gutyo nkire koko ukuboko kwiwe.” 2 Dawidi arahaguruka rero maze we n’abagabo amajana atandatu+ bari kumwe na we baja kwa Akishi+ mwene Mawoki, umwami wa Gati. 3 Dawidi abandanya kubana na Akishi i Gati, we n’abantu biwe, umwe wese ari kumwe n’urugo rwiwe+, Dawidi n’abagore biwe babiri, Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi na Abigayili+ umugore wa Nabali, Umunyakarumelikazi. 4 Mu nyuma Sauli amenyeshwa yuko Dawidi yari yahungiye i Gati; ntiyongera rero kuja kumurondera+.

5 Maze Dawidi abwira Akishi ati: “Niba rero nagize ubutoni mu maso yawe, nibampe ikibanza muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu hagati, kugira ngo mbeyo; nakare, kubera iki umusuku wawe yobana nawe mu gisagara ca cami?” 6 Nuko Akishi amuha Zikulagi+ kuri uwo musi. Ni co gituma Zikulagi hahavuye haba ah’abami ba Yuda gushika n’uyu musi.

7 Igitigiri c’imisi Dawidi yabaye mu gihugu hagati mu karere k’Abafilisitiya kiba umwaka n’amezi ane+. 8 Nuko Dawidi adugana n’abantu biwe kugira ngo batere Abageshuri+ n’Abagiruzi n’Abamaleki+; kuko baba mu gihugu cava i Telamu+ gushika i Shuri+ no gushika mu gihugu ca Misiri. 9 Dawidi yarakubita igihugu, mugabo ntazigamire ubuzima umugabo canke umugore+; yaratwara imikuku n’amasho n’indogobwa n’ingamiya n’impuzu, hanyuma agasubira inyuma, akaja kwa Akishi. 10 Maze Akishi yaravuga ati: “Mwateye hehe uno musi?” Dawidi na we akavuga ati+: “Mu bumanuko bwa Yuda+ no mu bumanuko bw’Abayerahimeyeli+ no mu bumanuko bw’Abakeni+.” 11 Ariko umugabo n’umugore, Dawidi nta n’umwe yazigamira ubuzima ngo amuzane i Gati, akavuga ati: “Kugira ngo ntibahave baturega ngo: ‘Uku ni ko Dawidi yakoze+.’” (Ukwo ni ko yakora imisi yose yabaye mu gihugu hagati mu karere k’Abafilisitiya.) 12 Akishi yarizigira+ rero Dawidi, akibwira ati: “Yacitse vy’ukuri umunuko mu gisata ciwe Isirayeli+; azobwirizwa gucika umusuku wanje gushika igihe kitagira urugero.”

28 Muri iyo misi, Abafilisitiya batangura gukorakoranya amakambi yabo kugira ngo ingabo zirwanye Isirayeli+. Nuko Akishi abwira Dawidi ati: “Urazi neza yuko uzosohokana nanje kugira tuje mw’ikambi, wewe n’abantu bawe+.” 2 Dawidi aca abwira Akishi ati: “Ni co gituma wewe ubwawe uzi ico umusuku wawe abwirizwa gukora.” Nuko Akishi abwira Dawidi ati: “Ni co gituma nzogushinga kuba uwurinda umutwe wanje nantaryo+.”

3 Kandi Samweli yari yarapfuye; Isirayeli yose yari yaramuborogeye iraheza imuhamba i Rama igisagara ciwe+. Nayo Sauli, yari yarakuye mu gihugu abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+.

4 Mu nyuma Abafilisitiya bakoranira hamwe, baraza maze bashinga ikambi i Shunemu+. Nuko Sauli akoraniriza hamwe Isirayeli yose baraheza bashinga ikambi i Gilibowa+. 5 Sauli abonye ikambi y’Abafilisitiya aratinya, umutima wiwe utangura kujugumira cane+. 6 Naho Sauli yasiguza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura+, vyaba biciye mu ndoto+ canke kuri Urimu+ canke ku bahanuzi+. 7 Amaherezo Sauli abwira abasuku biwe ati: “Nimundonderere umugore yakanongoreye mu vyo kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+, nzoheza ngende iwe ndamusiguze.” Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Urazi! Hariho umugore yakanongoreye mu vyo kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu i Eni-dori+.”

8 Sauli ariyoberanya+ rero, yambara izindi mpuzu maze aragenda, ari kumwe n’abagabo babiri; bashika kuri nya mugore mw’ijoro+. Nuko Sauli avuga ati: “Ndakwinginze undagurire+ biciye ku vy’ukuvugana n’ibiremwa vy’impwemu, undugirize uwo nkurangira.” 9 Ariko nya mugore amubwira ati: “Ehe wewe ubwawe urazi neza ivyo Sauli yakoze, ingene yaranduye mu gihugu abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+. Kubera iki none uriko ukora nk’uwutega umutego ubuzima bwanje kugira ngo unyicishe+?” 10 Buno nyene Sauli amurahira Yehova ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, nturi bwagirwe n’ikosa muri ivyo!” 11 Nya mugore aca avuga ati: “Ndakudugirize nde?” Na we avuga ati: “Ndugiriza Samweli+.” 12 Nya mugore abonye “Samweli*+,” atangura gusemerera n’ijwi ryiwe ryose; maze uwo mugore abandanya kubwira Sauli ati: “Kubera iki wampenze, kandi wewe ubwawe uri Sauli?” 13 Mugabo umwami amubwira ati: “Ntutinye; mugabo none ubonye iki?” Uwo mugore yongera kubwira Sauli ati: “Mbonye imana+ iduga iva mu kuzimu.” 14 Sauli aca amubwira ati: “Imeze gute?” Na we ati: “Ni umutama ariko aduga, kandi yambaye umwitero utagira amaboko+.” Sauli aca amenya yuko yari “Samweli+,” maze arunama mu maso hiwe hakora hasi, akubita inkoro hasi.

15 Nuko “Samweli” abwira Sauli ati: “Kubera iki wambujije amahoro mu gutuma nduzwa+?” Sauli aca avuga ati: “Ngeze habi rwose+, kuko Abafilisitiya bariko bandwanya, Imana na yo ubwayo ikaba yamvuyeko+, ntibe ikinyishura, vyaba biciye ku bahanuzi canke biciye mu ndoto+; ni co gituma ndaguhamagaye ngo umenyeshe ico ndi bukore+.”

16 “Samweli” abandanya kuvuga ati: “Unsiguriza iki none kandi Yehova ubwiwe yakuvuyeko+, akaba asigaye akurwanya+? 17 Yehova arigirira nk’uko yavuze biciye kuri jewe; Yehova arashikura ubwami mu kuboko kwawe+, abuhe mugenzawe Dawidi+. 18 Kubera ko utagamburutse ijwi rya Yehova+, ntushitse ishavu rirurumba ryiwe kuri Amaleki+, ni co gituma Yehova aza kukugirira ata kabuza ico kintu uyu musi. 19 Bisubiye, Yehova aragutangana na Isirayeli mu kuboko kw’Abafilisitiya+; kandi ejo wewe+ n’abahungu bawe+ muzoba muri kumwe nanje. N’ikambi ya Isirayeli, Yehova arayitanga mu kuboko kw’Abafilisitiya+.”

20 Sauli aca agwa hasi arambaraye, aratinya cane kubera amajambo ya “Samweli.” Vyongeye, ntihaba inkomezi muri we, kuko atari yariye ibifungurwa umurango wose n’ijoro ryose. 21 Uwo mugore aza rero kuri Sauli maze abona ko yari yabuze amahoro rwose. Nuko amubwira ati: “Ehe umusukukazi wawe yagamburutse ijwi ryawe, ndaheza nshira ubuzima bwanje mu kaga*+, ngamburuka amajambo wambwiye. 22 Ubu rero, ndakwinginze nawe ugamburuke ijwi ry’umusukukazi wawe; reka nshire imbere yawe ikimanyu c’umukate, uheze urye, kugira ngo ugire inkomezi muri wewe, kuko uza kwigira.” 23 Mugabo aranka, avuga ati: “Sindya.” Ariko abasuku biwe be na nya mugore baguma bamuhimiriza. Amaherezo agamburuka ijwi ryabo, arahaguruka avuye hasi, yicara ku buriri. 24 Kandi uwo mugore yari afise mu nzu inyana yadoheshejwe+. Nuko arayikerera*+ ningoga maze afata ifu, acumba igicumbe araheza acotsamwo udutsima tutarimwo umwambiro. 25 Hanyuma abihereza Sauli n’abasuku biwe, na bo bararya. Inyuma y’ivyo barahaguruka maze baragenda muri iryo joro+.

29 Nuko Abafilisitiya+ bakoraniriza hamwe amakambi yabo yose i Afeki, mu gihe Abisirayeli bari bakambitse iruhande y’imbizi yari i Yezireyeli+. 2 Abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bariko bagenda ari amajanajana n’ibihumbihumbi; Dawidi n’abantu biwe bagenda babakurikiye, bari kumwe na Akishi+. 3 Maze abaganwa b’Abafilisitiya bavuga bati: “Abo Baheburayo+ bo ni ibiki?” Akishi aca abwira nya baganwa b’Abafilisitiya ati: “None uyu si Dawidi umusuku wa Sauli umwami wa Isirayeli, uwumaranye nanje ng’aha umwaka umwe canke ibiri+, nanje nkaba ntasanze+ ikintu na kimwe muri we kuva umusi yata akomokera iwanje gushika n’uyu musi?” 4 Nuko abaganwa b’Abafilisitiya baramurakarira; abaganwa b’Abafilisitiya baca bamubwira bati: “Subiza inyuma uwo mugabo+, asubire ahantu hiwe wamugeneye; ntamanukane natwe ku rugamba, kugira ngo ntahave acika uwuturwanya+ mu rugamba. Mbega uyu muntu yokwitoneshesha iki ku mukama wiwe? Mbega ntiyokwitoneshesha imitwe y’aba bagabo bacu? 5 Uyu none si Dawidi, umwe baguma bitabira mu ntambo bati: ‘Sauli yishe ibihumbi, Dawidi na we ibihumbi mirongo+’?”

6 Nuko Akishi+ ahamagara Dawidi maze amubwira ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, uragororotse; kandi ugusohoka n’ukugaruka kwawe+ mw’ikambi uri kumwe nanje, kwabaye kwiza mu maso yanje+; kuko ata bubi nasanze muri wewe kuva umusi waza iwanje gushika n’uyu musi+. Mugabo mu maso y’abatware b’urunani+, nturi mwiza. 7 Ubu rero nusubire inyuma ugende amahoro, kugira ngo ntuhave ukora ikintu na kimwe kibi mu maso y’abatware b’urunani b’Abafilisitiya.” 8 Ariko Dawidi abwira Akishi ati: “None nakoze iki+, kandi ni igiki wasanze mu musuku wawe kuva umusi naza imbere yawe gushika n’uyu musi+, ku buryo ntoza ngo ndwanye koko abansi b’umukama wanje umwami?” 9 Akishi aca arishura, abwira Dawidi ati: “Ndazi neza yuko wabaye mwiza mu maso yanje, nk’umumarayika w’Imana+. Gusa, abaganwa b’Abafilisitiya ni bo bavuze ngo: ‘Ntadugane natwe ku rugamba.’ 10 Ubu rero, uvyuke kare mu gitondo kumwe n’abasuku b’umukama wawe bazananye nawe; muze muvyuke kare mu gitondo mumaze kubona ko bukeye. Maze mugende+.”

11 Dawidi avyuka rero kare, we n’abantu biwe, kugira agende mu gitondo+, asubire mu gihugu c’Abafilisitiya; Abafilisitiya na bo baduga i Yezireyeli+.

30 Nuko Dawidi n’abantu biwe bariko baraza i Zikulagi+ ku musi ugira gatatu, Abamaleki+ bagaba igitero mu bumanuko no kuri Zikulagi; bakubita Zikulagi, baraheza bahaturiza umuriro, 2 maze batwara ari imbohe abagore+ n’ivyariyo vyose, kuva kuri gitoyi gushika kuri kinini. Ntihagira n’umwe bica, mugabo barabajana, barigira. 3 Dawidi n’abantu biwe bashitse mu gisagara, basanga caturijwe umuriro; nayo abagore babo n’abahungu babo n’abakobwa babo, bari batwawe ari imbohe. 4 Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we bashira ijwi hejuru bararira+, gushika aho ata nkomezi zo kwongera kurira zisigara muri bo. 5 Abagore babiri ba Dawidi bari batwawe ari imbohe, Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi na Abigayili+ umugore wa Nabali Umunyakarumeli. 6 Bibabaza cane Dawidi+, kuko abantu bariko bavuga ngo aterwe amabuye+; kubera yuko abantu bose bari badundumiwe+, umwe wese kubera abahungu biwe n’abakobwa biwe. Nuko Dawidi atangura kwikomeza biciye kuri Yehova Imana yiwe+.

7 Ku bw’ivyo Dawidi abwira Abiyatari+ umuherezi, mwene Ahimeleki ati: “Ndakwinginze wegeze efodi+ hafi yanje.” Abiyatari yegeza rero efodi hafi ya Dawidi. 8 Dawidi atangura gusiguza Yehova+, mu kuvuga ati: “Nome inyuma ako kagwi k’abambuzi? Ndabahamvya?” Na we amubwira+ ati: “Genda ubome inyuma, kuko utabura kubahamvya, ukagarura ivyo batwaye vyose+.”

9 Dawidi aca afata inzira, we na ba bagabo amajana atandatu+ bari kumwe na we, baragenda gushika ku mwonga wa Besori, maze abagabo bari gusigara barahagarara. 10 Dawidi aguma aboma inyuma+, we n’abagabo amajana ane, mugabo abagabo amajana abiri bari barushe ku buryo batashobora kujabuka uwo mwonga wa Besori+, barahagarara.

11 Nuko babona mu gahinga umugabo umwe, Umunyamisiri+. Bamuzanira rero Dawidi, bamuha umukate ngo arye, bamuha n’amazi ngo anywe. 12 Bamuha kandi agapande k’agatsima k’insukoni zafyonzwe zikegerana be n’udutsima tubiri tw’inzabibu zumye+. Maze ararya hanyuma arahembuka+; kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu atarya umukate kandi atanywa amazi. 13 Dawidi rero amubwira ati: “Uri uwa nde, kandi uva he?” Na we avuga ati: “Ndi umusuku w’Umunyamisiri, umushumba w’umugabo w’Umumaleki, mugabo databuja yarampevye kubera narwaye, hakaba haciye imisi itatu+. 14 Ni twebwe twagavye igitero mu bumanuko bw’Abakereti+ no mu karere ka Yuda no mu bumanuko bwa Kalebu+; kandi Zikulagi twahaturije umuriro.” 15 Dawidi aca amubwira ati: “Woshobora kumanukana kuri ako kagwi k’abambuzi?” Na we avuga ati: “Nundahire+ Imana yuko utazonyica, be n’uko utazontanga mu kuboko kwa databuja+, nanje ndakumanukana kuri ako kagwi k’abambuzi.”

16 Nuko aramumanukana+, maze basanga basabagiye ku buringanire bw’igihugu cose, bariko bararya, banywa bongera bagira umusi mukuru+ kubera isahu ryinshi ryose bari bakuye mu gihugu c’Abafilisitiya no mu gihugu ca Yuda+. 17 Maze Dawidi ahera mu mutwenzi abica gushika ku mugoroba, kugira ngo abatikize; ntihagira umugabo n’umwe muri bo arokoka+ kiretse imikangara amajana ane yuriye ku ngamiya igahunga. 18 Dawidi arokora ivyo Abamaleki bari batwaye vyose+, arokora n’abagore biwe babiri. 19 Nta kintu na kimwe cabo cari kibuze, kuva kuri gitoyi gushika kuri kinini no gushika ku bahungu n’abakobwa no kw’isahu, egome, gushika ku kintu cose bari batwaye+. Dawidi agarukana ikintu cose. 20 Dawidi afata rero imikuku yose n’amasho yose, babishorera imbere y’ivyo bitungwa bindi. Maze bavuga bati: “Iri ni ryo sahu+ rya Dawidi.”

21 Amaherezo Dawidi ashika kuri ba bagabo amajana abiri+ bari barushe ku buryo badashobora kujana na Dawidi, bakaguma bicaye iruhande y’umwonga wa Besori; bano basohoka gusanganira Dawidi no gusanganira abantu bari kumwe na we. Dawidi ashikiriye abo bantu, atangura kubabaza uko bamerewe. 22 Ariko abagabo bose babi kandi b’imburakimazi+ mu bagabo bari bajanye na Dawidi barishura, baguma bavuga bati: “Ko batajanye natwe, nta na kimwe tubaha kw’isahu twarokoye, kiretse ko umwe wese tumuha umugore wiwe n’abahungu biwe, baheze babajane bagende.” 23 Mugabo Dawidi avuga ati: “Bene wacu, ntimugenze gutyo ivyo Yehova yaduhaye+, kuko yatuzigamye+ akongera agatanga mu kuboko kwacu ako kagwi k’abambuzi kari kaje kudutera+. 24 Ni nde yobumviriza kuri iryo jambo? Kuko umuturi w’uwamanutse ku rugamba uza kungana n’umuturi w’uwagumye iruhande y’imizigo+. Bose barasangira+.” 25 Nuko kuva uwo musi ashinga ko ivyo bibera Isirayeli ingingo nyobozi n’ingingo y’ubutungane*+, gushika n’uyu musi.

26 Dawidi ashitse i Zikulagi, atora kw’isahu maze arungikira abagabo b’inararibonye ba Yuda, abakunzi biwe+, avuga ati: “Ng’iyo ingabirano+ y’umuhezagiro yanyu ivuye kw’isahu ry’abansi ba Yehova.” 27 Arungikira ab’i Beteli+, n’ab’i Ramoti+ ho mu bumanuko, n’ab’i Yatiri+, 28 n’ab’i Aroweri, n’ab’i Sifumoti, n’ab’i Eshitemowa+, 29 n’ab’i Rakali, n’abo mu bisagara vy’Abayerahimeyeli+, n’abo mu bisagara vy’Abakeni+, 30 n’ab’i Horuma+, n’ab’i Borashani+, n’ab’i Ataki, 31 n’ab’i Heburoni+, n’ab’ahantu hose Dawidi yari yaragendagenze, we n’abantu biwe.

31 Kandi Abafilisitiya bariko bararwana na Isirayeli+; nuko abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, maze baguma bagwa bagandaguwe+ ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sauli n’abahungu biwe; amaherezo Abafilisitiya bica Yonatani+ na Abinadabu+ na Maliki-shuwa+, abahungu ba Sauli. 3 Urugamba rwo kurwanya Sauli ruba urukomeye; nuko abarashi, abanyamiheto, amaherezo baramubona, maze akomeretswa cane n’abo barashi+. 4 Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bantobekeranye koko, bangirire ivy’agashinyaguro.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sauli apfuye+, na we nyene aca yīsuka ku nkota yiwe, apfana na we+. 6 Gutyo Sauli n’abahungu biwe batatu n’uwumutwaza ibirwanisho, emwe, abantu biwe bose, bapfira hamwe kuri uwo musi+. 7 Abagabo ba Isirayeli bari mu karere k’ikiyaya co hasi n’abari mu karere ka Yorodani babonye yuko abagabo ba Isirayeli bahunze, be n’uko Sauli n’abahungu biwe bapfuye, batangura rero guta ibisagara barahunga+, hanyuma Abafilisitiya barashika maze babibamwo+.

8 Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura abagandaguwe+, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe batatu baguye ku musozi Gilibowa+. 9 Nuko bamuca umutwe+, bamwambura ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru amazu y’ibigirwamana vyabo+ be n’abantu. 10 Amaherezo bashira ibirwanisho vyiwe+ mu nzu y’ibishusho vya Ashitoreti+, ikiziga ciwe na co bakimanika ku ruhome rwa Beti-shani+. 11 Ku bijanye na we, ababa i Yabeshi-gileyadi+ bumva ivyo Abafilisitiya bari bagiriye Sauli. 12 Buno nyene abagabo b’intwari bose barahaguruka, bagenda ijoro ryose maze bakura ikiziga ca Sauli n’ibiziga vy’abahungu biwe ku ruhome rwa Beti-shani baraheza baza i Yabeshi, babituririraho+. 13 Maze bafata amagufa yabo+, bayahamba+ munsi y’igiti c’umukwaju+ i Yabeshi, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje+.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.

Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.

Raba Inyongera ya 21.

Biboneka ko cari icambarwa kimeze nk’itaburiya kigizwe n’igihimba c’imbere n’ic’inyuma.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Bisobanura ngo “Ubuninahazwa buri he?”

Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.

Raba 1Sm 5:6, akajambo k’epfo.

Raba Inyongera ya 21.

Hari abiyumvira yuko amajambo “abantu ibihumbi mirongo itanu” yongewe mu gisomwa mu nyuma.

Bisobanura ngo “Ibuye ry’Ugutabara.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “yari yapfukuye ugutwi kwa Samweli.”

Igitigiri nta kirimwo mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango.

Ijambo ku rindi ni “ntarorosha mu maso ha.”

Pimu yari ingero ya kera yapima nk’amagarama umunani y’ifeza.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”

Ni nk’imetero 2 na santimetero 90.

Ni udushato two ku masonga y’ibihimba vy’irondoka vy’abagabo.

Ijambo ku rindi ni “yatanguye gushira ubuzima bwiwe mu kiganza ciwe.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”

Seya yangana n’amalitiro 7,33.

Ijambo ku rindi ni “yihagarika ku ruhome.” Iyo ni imvugo y’igiheburayo yerekeza ku bantu b’igitsina-gabo.

Bisobanura ngo “Imburabwenge.”

Iyi nkuru ishikiriza ico kintu nk’uko cabonywe n’uwo mugore avugana n’ibiremwa vy’impwemu, uwari yahenzwe n’idayimoni yigize Samweli.

Ijambo ku rindi ni “nshira ubuzima bwanje mu kiganza canje.”

Ijambo ku rindi ni “ayishikanako ikimazi.”

 Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika