ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 2 Samweli 1:1-24:25
  • 2 Samweli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Samweli
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
2 Samweli

Igitabu ca Kabiri ca Samweli

canke, hisunzwe impinduro y’ikigiriki Septante, IGITABU CA KABIRI C’ABAMI

1 Inyuma y’urupfu rwa Sauli, kandi Dawidi amaze kugaruka avuye kwica Abamaleki+, Dawidi amara imisi ibiri i Zikulagi+. 2 Ku musi ugira gatatu, ehe umugabo+ umwe yariko araza avuye mw’ikambi, avuye aho Sauli ari, impuzu ziwe zatantamutse+, ku mutwe wiwe na ho hari ivu+; ashikiriye Dawidi, aca agwa hasi+, akubita inkoro hasi.

3 Nuko Dawidi amubwira ati: “Uvuye hehe?” Na we amubwira ati: “Mpunze mva mw’ikambi ya Isirayeli.” 4 Dawidi abandanya kumubwira ati: “Vyagenze gute? Ndakwinginze umbwire.” Na we avuga ati: “Abantu bahunze urugamba; vyongeye, benshi mu bantu baguye, barapfa+; mbere na Sauli+ be na Yonatani+ umuhungu wiwe bapfuye.” 5 Maze Dawidi abwira nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Uzi gute vy’ukuri yuko Sauli yapfuye be na Yonatani umuhungu wiwe+?” 6 Nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru aca avuga ati: “Nagiye mbona ndi ku musozi Gilibowa+ ntari ndavyiteze, maze mbona Sauli yishimikije icumu ryiwe+; kandi ehe, abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bari bamushikiriye+. 7 Ahindukiye akambona, aca arampamagara, nanje nti: ‘Ndi hano!’ 8 Abandanya kumbwira ati: ‘Uri nde?’ Nanje ndamubwira nti: ‘Ndi Umumaleki+.’ 9 Maze avuga ati: ‘Ndakwinginze uhagarare iruhande yanje umpohoshe, kuko ikinyanya* camfashe, kubera yuko ubuzima+ bwanje bwose bukiri muri jewe.’ 10 Nahagaze iruhande yiwe rero ndamuhohosha+, kuko nari nzi ko atari kubaho amaze kugwa. Naciye ntora umugāra+ wari ku mutwe wiwe n’igikomo cari ku kuboko kwiwe, kugira ndabizanire umukama wanje ng’aha.”

11 Dawidi aca afata impuzu ziwe arazitantamura+, n’abagabo bose bari kumwe na we bagira kuno. 12 Batangura kuboroga no kurira+ no kwisonzesha+ gushika ku mugoroba, kubera Sauli no kubera Yonatani umuhungu wiwe, no kubera abantu ba Yehova no kubera inzu ya Isirayeli+, kuko bari bagwishijwe n’inkota.

13 Nuko Dawidi abwira nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Uva he?” Na we ati: “Ndi umuhungu w’umugabo umwe wa kavamahanga, Umumaleki+.” 14 Maze Dawidi amubwira ati: “Kubera iki utatinye+ gutuma ukuboko kwawe ngo ukureho uwo Yehova yarobanuje amavuta*+?” 15 Dawidi aca ahamagara umwe mu misore, maze avuga ati: “Egera. Mwice.” Nuko aramugarika, arapfa+. 16 Maze Dawidi amubwira ati: “Amaraso yawe abe ku mutwe wawe+, kuko akanwa kawe bwite ari ko kakwagirije+, gati: ‘Ni jewe nahohosheje uwo Yehova yarobanuje amavuta+.’”

17 Nuko Dawidi aririmbana agahinda aka karirimbo k’intimba+ ku bwa Sauli na Yonatani umuhungu wiwe+, 18 kandi avuga yuko bene Yuda+ bigishwa “Akaririmbo k’intimba k’Umuheto+.” Ehe kanditswe mu gitabu ca Yashari+, kakaba kagira gati:

19 “Ewe Isirayeli, ubwiza bugandaguriwe ku bibanza vyawe bikirurutse*+.

Ewe kuntu abagabo b’abanyenkomezi baguye!

20 Ntimubivuge i Gati+;

Ntimubitangaze mu mabarabara y’i Ashikeloni+,

Kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe,

Kugira ngo abakobwa b’abagabo batagenyerewe ntibigine+.

21 Yemwe misozi ya Gilibowa+, ntihakagire ikime canke imvura biza kuri mwebwe, ntihakabe n’imirima y’intererano nyeranda+;

Kuko aho ari ho inkinzo y’abanyenkomezi yahumanirijwe,

Inkinzo ya Sauli, ku buryo ata nkinzo yarobanujwe amavuta isigaye+.

22 Umuheto wa Yonatani ntiwagaruka+

Udasheshe amaraso y’abagandaguwe, udasakije ibinure vy’abanyenkomezi,

Kandi inkota ya Sauli ntiyasubira inyuma itaroraniwe+.

23 Sauli na Yonatani+ bari abantu bo gukundwa bakaba n’abahimbaye mu buzima bwabo,

Kandi mu rupfu rwabo ntibatandukanijwe+.

Banyaruka kurusha inkona+,

Bari bakomeye kurusha intambwe+.

24 Yemwe bakobwa ba Isirayeli, nimuririre Sauli,

We yabambika impuzu z’agahama ziriko ibintu vy’agaciro,

We yashira udusharizo tw’inzahabu ku vyambarwa vyanyu+.

25 Ewe kuntu abanyenkomezi baguye hagati mu rugamba+!

Yonatani akagandagurirwa ku bibanza vyawe bikirurutse+!

26 Intuntu iranyishe kubera wewe, mwene wacu Yonatani,

Wampimbara cane+.

Urukundo wankunda rwari igitangaza kuruta urukundo rw’abagore+.

27 Ewe kuntu abanyenkomezi baguye+,

N’ibirwanisho vy’intambara bikayogera!”

2 Inyuma y’ivyo, Dawidi atangura gusiguza Yehova+ ati: “Nduge muri kimwe mu bisagara vya Yuda?” Yehova aca amubwira ati: “Duga.” Dawidi yongera kuvuga ati: “Nduge hehe?” Na we ati: “I Heburoni+.” 2 Dawidi rero adugayo be n’abagore biwe babiri, Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi na Abigayili+ umugore wa Nabali Umunyakarumeli. 3 Kandi Dawidi adugana abagabo+ bari kumwe na we, umwe wese n’urugo rwiwe; nuko baba mu bisagara vy’akarere ka Heburoni. 4 Maze abagabo ba Yuda+ baraza, barobanuza amavuta+ Dawidi ng’aho ngo abe umwami w’inzu ya Yuda+.

Nuko abantu baza kumenyesha Dawidi bati: “Abagabo b’i Yabeshi-gileyadi ni bo bahamvye Sauli.” 5 Dawidi aca atuma intumwa ku bagabo b’i Yabeshi-gileyadi+ ngo bababwire bati: “Muragahezagirwa na Yehova+, kuko mwagiriye ubwo buntu bwuzuye urukundo+ umukama wanyu, Sauli, kubera ko mwamuhamvye+. 6 Yehova rero abagirire ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’ubwizigirwa, na jewe nyene nzobagirira iyo neza kuko mwakoze ico kintu+. 7 Ubu amaboko yanyu rero niyikomeze kandi mube abagabo b’intwari+, kuko umukama wanyu Sauli yapfuye, akaba ari jewe inzu ya Yuda yarobanuje amavuta ngo mbe umwami+ wabo.”

8 Nayo Abuneri+ mwene Neri, umukuru w’ingabo zahora ari iza Sauli, afata Ishi-bosheti+ mwene Sauli, amujabukana i Mahanayimu+, 9 araheza amugira umwami wo kuganza Gileyadi+ n’Abashuri na Yezireyeli+ na Efurayimu+ na Benyamini+ na Isirayeli yose. 10 Ishi-bosheti mwene Sauli yari afise imyaka mirongo ine igihe yaba umwami wa Isirayeli, amara imyaka ibiri aganza. Inzu ya Yuda+ ni yo gusa yakurikiye Dawidi. 11 Igitigiri c’imisi Dawidi yabaye umwami i Heburoni aganza inzu ya Yuda, kiba imyaka indwi n’amezi atandatu+.

12 Mu nyuma, Abuneri mwene Neri n’abasuku ba Ishi-bosheti mwene Sauli, barasohoka bavuye i Mahanayimu+ baja i Gibeyoni+. 13 Nayo Yowabu+ mwene Zeruwiya+ n’abasuku ba Dawidi, barasohoka maze mu nyuma bahurira hamwe iruhande y’ikidengeri c’i Gibeyoni; baguma bicaye, bamwe hakuno ya nya kidengeri, abandi hakurya yaco. 14 Hanyuma Abuneri abwira Yowabu ati: “Ndakwinginze imisore ihaguruke irwanire imbere yacu.” Yowabu na we ati: “Nihaguruke.” 15 Irahaguruka rero, maze ija hakurya ikurikije igitigiri, cumi na babiri ba Benyamini na Ishi-bosheti+ mwene Sauli, na cumi na babiri bo mu basuku ba Dawidi. 16 Nuko batangura gucakirana imitwe, bazibagurana inkota mu mbavu, ku buryo bagwa hamwe. Mu nyuma aho hantu bahita Helikati-hazurimu, hakaba haherereye i Gibeyoni+.

17 Uwo musi indwano iba iyikomeye cane, Abuneri+ n’abagabo ba Isirayeli amaherezo baratsindwa imbere y’abasuku ba Dawidi. 18 Kandi ba bahungu batatu ba Zeruwiya+ bari ng’aho, ari bo Yowabu+ na Abishayi+ na Asaheli+; Asaheli yari umuntu w’amaguru anyaruka, nk’imwe mu ngeregere+ ziri mw’ishamba. 19 Asaheli yoma inyuma Abuneri, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu ngo areke gukurikira Abuneri. 20 Amaherezo Abuneri araba inyuma yiwe, avuga ati: “Ni wewe ga Asaheli?” Na we ati: “Ni jewe.” 21 Maze Abuneri amubwira ati: “Kebereza iburyo bwawe canke ibubamfu bwawe, wifatire umwe muri iyo misore, witwarire ivyo uza kumwambura+.” Mugabo Asaheli ntiyashaka gukevya ngo areke kumukurikira. 22 Abuneri rero yongera kubwira Asaheli ati: “Kevya ureke kunkurikira. Kubera iki nokwirirwa ndagutsinda hasi+? Noshobora nte none kuraramurira amaso kuri Yowabu mwene wanyu?” 23 Mugabo aguma yanka gukevya; nuko Abuneri amuzibura umuhunda w’icumu mu nda+, nya cumu risohokana mu mugongo; agwa ng’aho, apfira aho nyene. Abantu bose bashitse aho Asaheli yaguye agaca apfa, baca bahagarara+.

24 Nuko Yowabu na Abishayi boma inyuma Abuneri. Izuba ririko rirarenga, bashika ku murambi wa Ama urabana na Giya, ku nzira ija mu gahinga ka Gibeyoni+. 25 Maze bene Benyamini bakoranira inyuma ya Abuneri, baba umugwi umwe, baguma bahagaze kw’isonga ry’umurambi umwe. 26 Abuneri rero ahamagara Yowabu, ati: “Mbega inkota izokwama irya+? Ntuzi vy’ukuri yuko amaherezo hazoba umururazi+? None uzogeza ryari kutabwira abantu ngo bareke gukurikira bene wabo+?” 27 Yowabu aca avuga ati: “Ndahiye ukubaho kw’Imana y’ukuri+, iyo utavuga+, mu gitondo ni ho abantu bosubijwe inyuma, umwe wese akareka gukurikira mwene wabo.” 28 Yowabu aca avuza inzamba+, abantu bose barahagarara, ntibaba bakibandanya kwoma inyuma Isirayeli, kandi ntibongera gusubira kurwana.

29 Nayo Abuneri n’abantu biwe, bagenda iryo joro ryose baciye i Araba+, hanyuma bajabuka Yorodani+, bagenda bajanye imanga yose, amaherezo bashika i Mahanayimu+. 30 Yowabu na we asubira inyuma, areka gukurikira Abuneri maze atangura gukoraniriza hamwe abantu bose. Mu basuku ba Dawidi hari habuze abagabo cumi n’icenda be na Asaheli. 31 Abasuku ba Dawidi bo, bari bagaritse abo kwa Benyamini n’abo mu bantu ba Abuneri: hari hapfuye abantu amajana atatu na mirongo itandatu+. 32 Nuko batwara Asaheli+, bamuhamba mw’itongo ryo guhambamwo rya se+ riri i Betelehemu+. Maze Yowabu n’abantu biwe bagenda ijoro ryose, bubakerako bashitse i Heburoni+.

3 Intambara hagati y’inzu ya Sauli n’inzu ya Dawidi imara igihe kirekire+; Dawidi yaguma akomera+, inzu ya Sauli na yo ikaguma isubira hasi+.

2 Muri ico gihe, Dawidi avyarirwa abahungu+ i Heburoni+. Imfura yiwe iba Amunoni+, uwavutse kuri Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi. 3 Umuhungu wiwe agira kabiri aba Kileyabu+, uwavutse kuri Abigayili+ umugore wa Nabali Umunyakarumeli; uwugira gatatu aba Abusalomu+ umuhungu wa Mayaka, Mayaka umukobwa wa Talimayi+ umwami wa Geshuri. 4 Uwugira kane aba Adoniya+ umuhungu wa Hagiti+; uwugira gatanu aba Shefatiya+ umuhungu wa Abitali. 5 Uwugira gatandatu na we aba Itireyamu+, uwavutse kuri Egula umugore wa Dawidi. Abo ni bo Dawidi yavyariwe i Heburoni.

6 Mu gihe intambara hagati y’inzu ya Sauli n’inzu ya Dawidi yariko irabandanya, Abuneri+ yaguma akomeza ikibanza ciwe mu nzu ya Sauli. 7 Kandi Sauli yari afise incoreke yitwa Rizipa+, umukobwa wa Aya+. Mu nyuma Ishi-bosheti+ abwira Abuneri ati: “Kubera iki waryamanye n’incoreke+ ya dawe?” 8 Abuneri ashavuzwa cane+ n’amajambo ya Ishi-bosheti, maze avuga ati: “Mbega mbaye umutwe w’imbwa+ ya Yuda? Uno musi mbandanya kugirira ubuntu bwuzuye urukundo inzu ya Sauli so wawe, na bene wabo, n’abagenzi biwe bwite, kandi sinaretse ngo ugwe mu kuboko kwa Dawidi; yamara uno musi unyagirije ikosa ku bijanye n’umugore. 9 Imana igirire gutyo Abuneri, mbere n’ibirenze ivyo+, nintagirira Dawidi nk’uko nyene Yehova yamurahiye+, 10 nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.” 11 Nuko ntiyashobora kugira irindi jambo yishura Abuneri, kuko yamutinya+.

12 Buno nyene Abuneri aca atuma intumwa kuri Dawidi, avuga ati: “Mbega igihugu ni ica nde?” Yongerako ati: “Nugirane nanje isezerano ryawe, kandi ehe ukuboko kwanje kuzobana nawe kugira nkebereze Isirayeli yose ku ruhande rwawe+.” 13 Aca avuga ati: “Ni vyiza! Jewe nzogirana isezerano nawe. Ariko hari ikintu kimwe ngusaba: ‘Ntuzobona mu maso hanje+, kiretse ubanje kuzana Mikali+ umukobwa wa Sauli, niwaza kuraba mu maso hanje.’” 14 Vyongeye, Dawidi atuma intumwa kuri Ishi-bosheti+ mwene Sauli, ati: “Mpa umugore wanje Mikali, uwo nirehereje ku dushato* ijana+ tw’Abafilisitiya.” 15 Ishi-bosheti atuma rero kumutora ku mugabo wiwe, Palitiyeli+ mwene Layishi. 16 Ariko umugabo wiwe ajana na we, agenda araririra inyuma yiwe gushika i Bahurimu+. Maze Abuneri amubwira ati: “Genda, subira inyuma!” Aca asubira inyuma.

17 Muri ico gihe Abuneri yari yavuganye n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli ati: “Ejo be n’imbere yaho+ mwarerekanye ko mushaka yuko Dawidi ababera umwami. 18 Ubu rero nimugire ico mukoze, kuko Yehova ubwiwe yabwiye Dawidi ati: ‘Ukuboko kwa Dawidi+ umusavyi wanje ni kwo nzokirisha abantu banje Isirayeli, ndabakure mu kuboko kw’Abafilisitiya no mu kuboko kw’abansi babo bose.’” 19 Maze Abuneri avugana kandi na Benyamini+; hanyuma Abuneri aja no kubwira Dawidi i Heburoni ivyari vyiza vyose mu maso ya Isirayeli no mu maso y’inzu ya Benyamini yose.

20 Abuneri aje kuri Dawidi i Heburoni, ari kumwe n’abagabo mirongo ibiri, Dawidi aha inzimano+ Abuneri n’abagabo bari kumwe na we. 21 Maze Abuneri abwira Dawidi ati: “Reka mpaguruke ngende, nkoranirize Isirayeli yose ku mukama wanje umwami, kugira bagiranire isezerano nawe, kandi uzoba koko umwami wo kuganza abo umutima wawe uhahamiye bose+.” Dawidi aca arungika Abuneri, yigira amahoro+.

22 Mugabo haza abasuku ba Dawidi na Yowabu bavuye kugaba igitero, kandi isahu+ bari bazanye ryari ryinshi. Ariko Abuneri ntiyari kumwe na Dawidi i Heburoni, kuko yari yamurungitse, akaba yariko yigira amahoro. 23 Yowabu+ n’ingabo zose zari kumwe na we barashika; nuko abantu bamenyesha Yowabu bati: “Abuneri+ mwene Neri+ yaje ku mwami, na we aramurungika, akaba ariko yigira amahoro.” 24 Yowabu aca yinjira iyo umwami ari, avuga ati: “Wakoze ibiki+? Ehe Abuneri yaje kuri wewe. Kubera iki wamurungitse akigira? 25 Urazi neza Abuneri mwene Neri, urazi neza ko yazanywe no kuguhenda, kugira amenye igihe usohokera mu rugamba n’igihe ugarukira+, kugira amenye ivyo ukora vyose+.”

26 Yowabu aca arasohoka avuye iyo Dawidi ari, maze atuma intumwa ngo zikurikire Abuneri, ziraheza zimugarurira+ kw’itangi y’i Sira; kandi Dawidi ntiyari abizi. 27 Abuneri agarutse i Heburoni+, Yowabu aca aramwikebukanya imbere mw’irembo kugira avugane na we mu mwiherero+. Ariko aho nyene aca amuzibura mu nda+, arapfa kubera amaraso ya Asaheli+ mwene wabo. 28 Aho Dawidi avyumviye, aca avuga ati: “Jewe n’ubwami bwanje imbere ya Yehova turacuna gushika igihe kitagira urugero* ku bijanye n’amaraso+ ya Abuneri mwene Neri. 29 Ayo maraso nagaruke nk’agashururu ku mutwe+ wa Yowabu no ku nzu ya se yose, kandi mu nzu ya Yowabu+ ntihakabure umugabo w’urunyigimbe rwisuka+ canke umunyamibembe+ canke umugabo afata agati kazungurutsa urunyuzi+ canke uwugwishwa n’inkota canke uwukenye umukate+!” 30 Nayo Yowabu na Abishayi+ mwene wabo, bishe Abuneri+ kubera yari yarishe Asaheli mwene wabo i Gibeyoni mu rugamba+.

31 Maze Dawidi abwira Yowabu n’abantu bose bari kumwe na we ati: “Nimutantamure impuzu zanyu+, mukenyere amagunira*+ hanyuma muboroge cane imbere ya Abuneri.” Umwami Dawidi na we nyene yariko agendera inyuma y’inderuzo. 32 Nuko bahamba Abuneri i Heburoni; umwami ashira ijwi hejuru, aririra ku mva ya Abuneri, n’abantu bose bararira+. 33 Maze umwami aririmbana agahinda ku bwa Abuneri, ati:

“Mbega Abuneri yari akwiye gupfa nk’uko umuntu w’imburabwenge+ apfa?

34 Amaboko yawe ntiyari aboshwe+,

Kandi amaguru yawe ntiyari yashizwe mu mapingu y’umujumpu+.

Waguye nk’uwugwa imbere y’abana b’ukutagororoka+.”

Abantu bose baca bongera kumuririra+.

35 Mu nyuma abantu bose baza guha Dawidi umukate+ ku bwo kumwirura, hakiri kuri uwo murango, mugabo Dawidi ararahira, ati: “Imana ingirire gutyo+, mbere n’ibirenze ivyo, ninahonja umukate canke ikindi kintu izuba ritararenga+!” 36 Nuko abantu bose barabibona, maze biba vyiza mu maso yabo. Nk’uko vyari ku kintu cose umwami yakora, ivyo biba vyiza mu maso y’abantu bose+. 37 Kuri uwo musi abantu bose na Isirayeli yose bamenya yuko umwami atari we yari yicishije Abuneri mwene Neri+. 38 Maze umwami abandanya kubwira abasuku biwe ati: “Mbega ntimuzi yuko umuganwa akaba n’umugabo akomeye ari we yaguye uyu musi muri Isirayeli+? 39 Nanje uno musi ndi goyigoyi, naho narobanujwe amavuta+ ngo mbe umwami, kandi aba bagabo, bene Zeruwiya+, barakaze birenze kuri jewe+. Yehova yishure uwukora ikibi nk’uko ububi bwiwe buri+.”

4 Umuhungu+ wa Sauli yumvise ko Abuneri yapfiriye i Heburoni+, amaboko yiwe aca araregera+, Abisirayeli bose na bo bahagarika umutima. 2 Kandi hari abagabo babiri, abakuru b’utugwi tw’abambuzi+, bari ab’umuhungu wa Sauli; umwe yitwa Bayana, uwundi na we akitwa Rekabu; bari bene Rimoni Umunyabeyeroti, wo muri bene Benyamini; kuko i Beyeroti+ na ho nyene haharurwa ko ari aho muri Benyamini. 3 Nuko Abanyabeyeroti bahungira i Gitayimu+, baba ba kavamahanga ng’aho gushika n’uyu musi.

4 Kandi Yonatani+ mwene Sauli yari afise umuhungu amugaye ibirenge+. Yari afise imyaka itanu igihe inkuru yerekeye Sauli na Yonatani yashika ivuye i Yezireyeli+; umurezi wiwe aramutwara maze arahunga, mugabo igihe yariko ariruka yataye umutwe kugira ngo ahunge, nya muhungu arakoroka, aca aramugara. Yitwa Mefibosheti+.

5 Nuko bene Rimoni Umunyabeyeroti, Rekabu na Bayana, baragenda, bashika ku nzu ya Ishi-bosheti+ nko mu kiringo c’umusi haba hashushe cane, mu gihe yari asinziriye agatiro ko ku mutaga. 6 Maze binjira hagati mu nzu nk’abantu bagiye kurondera ingano, hanyuma bamuzibura mu nda+; Rekabu na Bayana+ mwene wabo bagenda ata wubabonye. 7 Igihe binjira mu nzu, yari aryamye ku buriri bwiwe mu cumba ciwe c’uburyamo, maze baramuzibura baramwica+, hanyuma bamukurako umutwe baraheza batwara uwo mutwe wiwe+, bagenda ijoro ryose baciye mu nzira ija i Araba. 8 Amaherezo bazanira umutwe wa Ishi-bosheti+ Dawidi i Heburoni, maze babwira umwami bati: “Ng’uyu umutwe wa Ishi-bosheti mwene Sauli umwansi wawe+ yarondera ubuzima bwawe+; mugabo uyu musi Yehova ahaye umukama wanje umwami kwihora+ Sauli n’uruvyaro rwiwe.”

9 Ariko Dawidi yishura Rekabu na Bayana mwene wabo, bene Rimoni Umunyabeyeroti, ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ we yacunguye+ ubuzima bwanje+ akabukura mu marushwa yose+, 10 igihe umuntu umwe yamenyesha+ ati: ‘Erega Sauli yapfuye,’ mu maso yiwe akaba nk’uwuzanye inkuru nziza, naciye riho ndamufata maze ndamwicira+ i Zikulagi kandi nari nkwiye kumuha impembo y’uwuzana ubutumwa; 11 mbega sinorushiriza kubigenza gutyo mu gihe abagabo b’ababisha+ biciye umuntu agororotse mu nzu yiwe, ku gitanda ciwe? None ubu sinkwiye kwishuza amaraso yiwe mu maboko yanyu+, nkabakura kw’isi+?” 12 Dawidi aca ategeka imisore, na yo irabica+ maze ibaca ibikonjo n’ibirenge iraheza ibimanika+ iruhande y’ikidengeri c’i Heburoni; umutwe wa Ishi-bosheti na wo barawutora, bawuhamba mu kibanza co guhambamwo ca Abuneri i Heburoni+.

5 Mu nyuma imiryango yose ya Isirayeli iza kuri Dawidi+ i Heburoni+, maze ivuga iti: “Ehe twebwe ubwacu turi igufa ryawe n’umubiri wawe+. 2 Ejo be n’imbere yaho+, igihe Sauli yari umwami atuganza, ni wewe wasohokana Isirayeli ku rugamba ukongera ukayigarukana+. Maze Yehova akubwira ati: ‘Ni wewe uzoragira+ igisata canje Isirayeli, kandi ni wewe uzoba indongozi+ ya Isirayeli.’” 3 Abagabo b’inararibonye+ ba Isirayeli bose baza rero ku mwami i Heburoni, maze Umwami Dawidi agirana isezerano+ na bo i Heburoni imbere ya Yehova; hanyuma barobanuza amavuta+ Dawidi ngo abe umwami wo kuganza Isirayeli+.

4 Dawidi yari afise imyaka mirongo itatu igihe yaba umwami. Amara imyaka mirongo ine+ aganza. 5 I Heburoni, aganza Yuda imyaka indwi n’amezi atandatu+; i Yeruzalemu+ na ho aganza Isirayeli yose na Yuda imyaka mirongo itatu n’itatu. 6 Nuko umwami n’abantu biwe baja i Yeruzalemu kurwanya Abayebusi+ baba mu gihugu; bano batangura kubwira Dawidi bati: “Ntuzokwinjira ng’aha, mugabo impumyi n’ibimuga bazogusubiza inyuma ata kabuza+,” kuko biyumvira bati: “Dawidi ntazokwinjira ng’aha.” 7 Ariko Dawidi atangura gufata igihome gikomeye ca Siyoni+, ni ukuvuga Igisagara ca Dawidi+. 8 Dawidi rero kuri uwo musi avuga ati: “Uwukubita Abayebusi+ wese, nashikire ibimuga n’impumyi, abo umutima wa Dawidi wanka, aciye mu mugende w’amazi+ uca munsi!” Ni co gituma bivugwa ngo: “Impumyi n’ikimuga ntibazokwinjira mu nzu.” 9 Nuko Dawidi aba muri ico gihome gikomeye, hanyuma citwa Igisagara ca Dawidi; maze Dawidi yubaka irya n’ino yaco, ahera ku Kidunduri+ yerekeza imbere. 10 Gutyo Dawidi aguma arushiriza kuba uwukomeye+, kandi Yehova Imana nyen’ingabo+ yari kumwe na we+.

11 Nuko Hiramu+ umwami wa Tiro arungika intumwa+ kuri Dawidi, be n’ibiti vy’amasederi+ n’abakora mu vy’ibiti be n’abakora mu vy’amabuye y’impome, maze batangura kwubakira Dawidi inzu+. 12 Dawidi amenya rero ko Yehova yari yamushimangiye bwa mwami wa Isirayeli+ be n’uko yari yashize hejuru+ ubwami bwiwe ku bw’igisata ciwe Isirayeli+.

13 Muri ico gihe, Dawidi aronka izindi ncoreke+ yabira n’abandi bagore+ i Yeruzalemu amaze kuva i Heburoni; nuko Dawidi avyarirwa abandi bahungu n’abakobwa. 14 Aya ni yo mazina y’abo yavyariwe i Yeruzalemu: Shamuwa+ na Shobabu+ na Natani+ na Salomo+, 15 na Ibuhari na Elishuwa+ na Nefegi+ na Yafiya+, 16 na Elishama+ na Eliyada na Elifeleti+.

17 Nuko Abafilisitiya bumva yuko bari barobanuje amavuta Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli+. Abafilisitiya bose baca baduga kurondera Dawidi. Dawidi avyumvise, aca amanuka mu kibanza kigoye gushikamwo+. 18 Abafilisitiya na bo barashika maze baguma bagendagenda irya n’ino mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 19 Dawidi asiguza+ Yehova, ati: “Nduge kurwanya Abafilisitiya? Urabatanga mu kuboko kwanje?” Yehova aca abwira Dawidi ati: “Duga, kuko ntabura gutanga Abafilisitiya mu maboko yawe+.” 20 Nuko Dawidi aza i Bayali-perazimu+, abasasikira ng’aho. Maze avuga ati: “Yehova aciye igihengeri mu bansi banje+ imbere yanje, nk’igihengeri giciwe n’amazi.” Ni co catumye aho hantu ahita Bayali-perazimu+. 21 Nuko bata ng’aho ibigirwamana vyabo+, maze Dawidi n’abantu biwe barabitwara+.

22 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kuduga+, bakwiragira irya n’ino mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 23 Dawidi aca asiguza+ Yehova, mugabo avuga ati: “Ntuduge. Zunguruka ubaturuke inyuma, ubarwanirize imbere y’ibisaka vy’imibaka+. 24 Niwumva urwamo rw’imirindi hejuru ya nya bisaka vy’imibaka, uce ukora ata gusuha+, kuko ico gihe Yehova azoba yakwitangiye imbere kugira asasike ikambi y’Abafilisitiya+.” 25 Nuko Dawidi agira kuno, nk’uko nyene Yehova yari yamutegetse+, asasika+ Abafilisitiya, kuva i Geba+ gushika i Gezeri+.

6 Dawidi yongera gukoranya abagabo b’abahizi bose bo muri Isirayeli+, baba ibihumbi mirongo itatu. 2 Maze Dawidi n’abantu bose bari kumwe na we barahaguruka, baja i Bayale-yuda+ kudugana isandugu+ y’Imana y’ukuri bayikuye ng’aho, iyitirirwa izina ryiwe, izina+ rya Yehova nyen’ingabo*+, uwicaye ku bakerubi*+. 3 Ariko buriza isandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+, kugira bayitware bayikuye mu nzu ya Abinadabu+ yari ku murambi; Uza na Ahiyo+, bene Abinadabu, bari bayoboye uwo mukogote mushasha.

4 Bayitwara rero bayikuye mu nzu ya Abinadabu yari ku murambi . . . kumwe n’isandugu y’Imana y’ukuri; Ahiyo yagendera imbere y’iyo Sandugu. 5 Dawidi n’inzu ya Isirayeli yose bariko bahimbaza ico kintu imbere ya Yehova n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho vyo mu giti c’umuberoshi, n’inanga+, n’ibicurarangisho vy’imirya+, n’utugoma+, n’amapendo* be n’ivyuma bisāma+. 6 Amaherezo bashika ku mbuga y’ikubitiro ya Nakoni, maze Uza+ atuma ukuboko kw’isandugu y’Imana y’ukuri arayifata+, kuko inka zari zihatswe kuyitembagaza. 7 Ishavu rya Yehova+ rica rirurumbira Uza maze Imana y’ukuri imugarika+ ng’aho kubera ico gikorwa c’ukudatinya Imana, aca apfira ng’aho hafi y’isandugu y’Imana y’ukuri+. 8 Maze Dawidi ashavuzwa n’uko Yehova yari arandamuye* Uza; aho hantu rero bahita Perezi-uza gushika n’uyu musi+. 9 Nuko uwo musi Dawidi atinya Yehova+, avuga ati: “Isandugu ya Yehova izoza iwanje gute+?” 10 Nuko Dawidi ntiyashaka kwimurira isandugu ya Yehova iwe mu Gisagara ca Dawidi+. Dawidi ayikebereza rero mu nzu ya Obedi-edomu+ Umugiti+.

11 Iyo sandugu ya Yehova ibandanya kuba mu nzu ya Obedi-edomu Umugiti amezi atatu; kandi Yehova yaguma ahezagira+ Obedi-edomu n’urugo rwiwe rwose+. 12 Amaherezo Umwami Dawidi amenyeshwa ngo: “Yehova yarahezagiye inzu ya Obedi-edomu n’ivyiwe vyose kubera isandugu y’Imana y’ukuri.” Dawidi aca aragenda, akura isandugu y’Imana y’ukuri mu nzu ya Obedi-edomu, ayidugana mu Gisagara ca Dawidi anezerewe+. 13 Abari bateruye+ isandugu ya Yehova bamaze kugenda intambuko zitandatu, aca ashikana ikimazi c’ishūri n’igitungwa kikiri gito kinuze+.

14 Dawidi yariko atamba yizunguriza n’inkomezi ziwe zose imbere ya Yehova, ico gihe akaba yari akenyeye efodi+ y’ilino. 15 Kandi Dawidi n’inzu ya Isirayeli yose bariko badugana isandugu+ ya Yehova bavuza akaruru k’umunezero+ n’ijwi ry’inzamba+. 16 Isandugu ya Yehova ishitse mu Gisagara ca Dawidi, Mikali+ umukobwa wa Sauli araba hasi acishije mw’idirisha maze abona Umwami Dawidi asimbasimba yongera atamba yizunguriza imbere ya Yehova; nuko atangura kumusuzugurira+ mu mutima+. 17 Binjiza rero isandugu ya Yehova, bayishira mu kibanza cayo mw’ihema Dawidi yari yarayishingiye+; hanyuma Dawidi ashikana imbere ya Yehova ibimazi biturirwa+ n’ibimazi vy’ugusangira+. 18 Dawidi arangije gushikana nya bimazi biturirwa na nya bimazi vy’ugusangira, aca ahezagira+ abantu mw’izina rya Yehova+ nyen’ingabo. 19 Vyongeye, agabanganiriza+ ibifungurwa abantu bose, isinzi ryose rya Isirayeli, umugabo n’umugore, umwe wese amuha agatsima k’umukate kameze nk’ikigōmbo n’agatsima ko mu ngazi z’itende n’agatsima k’inzabibu zumye+, hanyuma abantu bose baragenda, umwe wese ku nzu yiwe.

20 Nuko Dawidi asubira inyuma guhezagira urugo rwiwe+; maze Mikali+ umukobwa wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi hanyuma avuga ati: “Ese ukuntu umwami wa Isirayeli yigize uwuninahaye uno musi+ igihe yikurako agashambara uno musi mu maso y’abashumbakazi b’abasuku biwe, nk’uko umwe mu bagabo b’ibijuju yikurako agashambara agasigara ari amenya+!” 21 Dawidi aca abwira Mikali ati: “Nariko nigina imbere ya Yehova, we yantoye aho gutora so n’urugo rwiwe rwose, kugira anshireho+ ngo mbe indongozi y’abantu ba Yehova ari bo Isirayeli, kandi nzohimbaza ico kintu imbere ya Yehova+. 22 Nzorushiriza mbere kwigira uwukengeretse kuruta aho+, kandi nzocika uwo hasi mu maso yanje; nayo abashumbakazi wavuze, niyemeje kwininahaza kuri bo+.” 23 Nuko Mikali+ umukobwa wa Sauli arinda apfa ataronse akana.

7 Nuko umwami amaze kuba mu nzu yiwe+ kandi Yehova amaze kumuha kuruhuka abansi biwe bose bari bamukikuje+, 2 abwira rero Natani+ umuhanuzi ati: “Raba ubu jewe mba mu nzu y’amasederi+ mu gihe isandugu y’Imana y’ukuri yoyo iba hagati mu bitambara vy’ihema+.” 3 Natani aca abwira umwami ati: “Ikintu cose kiri mu mutima wawe⁠—​genda ugikore+, kuko Yehova ari kumwe nawe.”

4 Maze iryo joro ijambo+ rya Yehova riza kuri Natani riti: 5 “Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega ni wewe uzonyubakira inzu ngo ndayibemwo+? 6 Kuko ntabaye mu nzu kuva umusi nadugana bene Isirayeli ndabakuye mu Misiri gushika uyu musi+, mugabo nagumye ngendagenda+ mw’ihema+ no mw’itaberenakulo*+. 7 Mu gihe cose nagendagenze muri bene Isirayeli bose+, mbega hari ijambo nabwiye umwe mu miryango ya Isirayeli+ nategetse kuragira igisata canje Isirayeli, nti: ‘Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi?’”’ 8 Ubu rero, ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ni jewe nagukuye mw’itongo ry’uburagiriro, inyuma y’umukuku+, kugira ngo ube indongozi+ y’igisata canje Isirayeli. 9 Nzobana nawe aho uzoja hose+, kandi nzorandura abansi bawe bose imbere yawe+; kandi ata gukeka nzoguha kugira izina rihambaye+, nk’izina ry’abahambaye bari mw’isi. 10 Nzogenera ikibanza+ abantu banje ari bo Isirayeli, ndabateragire+, na bo bazokwibera koko aho bari, kandi ntibazokwongera kubuzwa amahoro; abana b’ukutagororoka ntibazokwongera kubateza amarushwa nk’uko babigize mu ntango+, 11 egome, guhera umusi nashiraho abacamanza+ ngo bategeke abantu banje Isirayeli; kandi nzoguha kuruhuka abansi bawe bose+.

“‘“Kandi Yehova akumenyesheje yuko Yehova azokwubakira inzu+. 12 Imisi yawe niyakwira+, maze ukabwirizwa kuryama hamwe na ba sogokuruza bawe+, emwe, nzohagurutsa rero uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe, uruzova imbere muri wewe; kandi nzoshimangira koko ubwami bwiwe+. 13 Ni we azokwubakira inzu izina ryanje+, nanje ata gukeka nzoshimangira intebe y’ubwami bwiwe gushika igihe kitagira urugero+. 14 Jewe ubwanje nzomubera se+, na we azombera umwana+. Niyakora nabi, nzomukangira n’inkoni+ y’abantu be n’ugukubita kw’abana ba Adamu. 15 Nayo ubuntu bwuzuye urukundo bwanje, ntibuzova kuri we nk’uko nabukuye kuri Sauli+, uwo nakuyeho kubera wewe. 16 Kandi inzu yawe n’ubwami bwawe bizokwama bihamye imbere yawe gushika igihe kitagira urugero; intebe y’ubwami yawe izoshimangirwa gushika igihe kitagira urugero+.”’”

17 Maze Natani avugana na Dawidi yisunze ayo majambo yose n’iryo yerekwa ryose+.

18 Umwami Dawidi aca arinjira, yicara imbere ya Yehova, maze avuga ati: “Mbega ndi nde+ ga Mukama Segaba Yehova? Kandi inzu yanje ni iki ku buryo wanshikanye iyo hose? 19 Nk’aho ico coba vy’ukuri ari ikintu gito mu maso yawe, ewe Mukama Segaba Yehova, yamara uravuze n’ivyerekeye inzu y’umusavyi wawe gushika muri kazoza ka kure; kandi iryo ni ryo tegeko rihawe abantu+, ewe Mukama Segaba Yehova+. 20 Ni igiki kindi Dawidi yokwongerako ngo akikubwire, kandi wewe ubwawe uzi neza umusavyi wawe+, ewe Mukama Segaba Yehova? 21 Ivyo bintu bikomeye vyose wabikoze ku bw’ijambo ryawe+ no mu buryo buhuye n’umutima wawe+, kugira ngo ubimenyeshe umusavyi wawe+. 22 Ni co gituma uhambaye koko+, ewe Mukama Segaba Yehova; kuko ata wundi ariho ameze nkawe+ kandi ata Mana iriho kiretse wewe+, mu zo twumvise n’amatwi yacu zose. 23 Vyongeye, ni ihanga rimwe irihe mw’isi rimeze nk’abantu bawe Isirayeli+, abo wewe Imana wagiye kwicungurira bwa gisata c’abantu+, kugira wiheshe izina+ no kugira ukigirire ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+⁠—​ngo wirukane amahanga n’imana zayo ku bw’abantu bawe wicunguriye+ ubakuye mu Misiri? 24 Kandi wishimangiriye abantu bawe Isirayeli+ kugira babe igisata cawe gushika igihe kitagira urugero; kandi wewe ubwawe, ewe Yehova, wacitse Imana yabo+.

25 “None rero, Yehova Mana, ijambo wavuze ku bijanye n’umusavyi wawe no ku bijanye n’inzu yiwe, nurishitse gushika igihe kitagira urugero kandi ukore nk’uko wavuze+. 26 Izina ryawe ribe irihambaye gushika igihe kitagira urugero+, kugira ngo abantu bavuge bati: ‘Yehova nyen’ingabo ni Imana kuri Isirayeli+,’ kandi inzu y’umusavyi wawe Dawidi ibe iyishimangiye imbere yawe+. 27 Kuko wewe, Yehova nyen’ingabo, Mana ya Isirayeli, wahishuriye ugutwi kw’umusavyi wawe uti: ‘Nzokwubakira inzu+.’ Ni co gitumye umusavyi wawe agira umutima rugabo wo kugusenga n’iri sengesho+. 28 None rero, ewe Mukama Segaba Yehova, uri Imana y’ukuri; nayo amajambo yawe, nabe ukuri+, kuko wasezeraniye umusavyi wawe iyi neza+. 29 None rero, niwiyemeze guhezagira+ inzu y’umusavyi wawe kugira ngo igume imbere yawe gushika igihe kitagira urugero+; kuko ari wewe wasezeranye, ewe Mukama Segaba Yehova, kandi bivuye ku muhezagiro wawe, inzu y’umusavyi wawe nihezagirwe gushika igihe kitagira urugero+.”

8 Inyuma y’ivyo, Dawidi atangura gukubita Abafilisitiya+ no kubamara igabo+, maze Dawidi afata Metegi-ama ahakuye mu kuboko kw’Abafilisitiya.

2 Atsinda kandi Abanyamowabu+ hanyuma abageresha ikamba abaryamitse hasi, kugira agere amakamba abiri ngo abice, n’ikamba yuzuye ngo abazigamire ubuzima+; nuko Abanyamowabu baba abasuku ba Dawidi+ bo kumuzanira ikibuguro+.

3 Dawidi atsinda kandi Hadadezeri+ mwene Rehobu umwami wa Zoba+, mu gihe uno yariko aja gusubizaho ububasha bwiwe ku ruzi Efurate+. 4 Dawidi amutwara abagendera ku mafarasi igihumbi n’amajana indwi, n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+; maze Dawidi atangura guca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote.

5 Siriya y’i Damasiko+ ije gutabara Hadadezeri umwami wa Zoba, Dawidi aca asasika mu Basiriya abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri+. 6 Bisubiye, Dawidi ashira ibirindiro+ muri Siriya y’i Damasiko; maze Abasiriya baba abasuku ba Dawidi bo kumuzanira ikibuguro+. Yehova yaguma akiza Dawidi aho yaja hose+. 7 Vyongeye, Dawidi atora inkinzo z’umuzingi+ z’inzahabu zari ku basuku ba Hadadezeri hanyuma azijana i Yeruzalemu. 8 Umwami Dawidi atwara umujumpu mwinshi cane+ awukuye i Beta n’i Berotayi, ibisagara vya Hadadezeri.

9 Nuko Toyi umwami wa Hamati+ yumva ko Dawidi yari yasasitse inteko za gisirikare zose za Hadadezeri+. 10 Toyi atuma rero Yoramu umuhungu wiwe ku Mwami Dawidi kumubaza uko amerewe+ no kumukeza kubera yari yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yari amaze kumenyera kurwanya Toyi); kandi mu kuboko kwiwe hari ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu n’ibintu vy’umujumpu+. 11 Ivyo na vyo nyene Umwami Dawidi avyereza Yehova, kumwe n’ifeza be n’inzahabu yari yarejeje abikuye mu mahanga yose yari yaranesheje+, 12 i Siriya n’i Mowabu+ no kuri bene Amoni no ku Bafilisitiya+ no kuri Amaleki+ no kw’isahu rya Hadadezeri mwene Rehobu, umwami wa Zoba+. 13 Nuko Dawidi yihesha izina, agarutse avuye gusasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+: asasika ibihumbi cumi n’umunani+. 14 Ashira rero ibirindiro muri Edomu+. Muri Edomu hose ahashira ibirindiro, maze Abanyedomu bose baba abasuku ba Dawidi+; Yehova yaguma akiza Dawidi aho yaja hose+.

15 Nuko Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+; kandi Dawidi aguma ashitsa ingingo y’ubutungane* be n’ubugororotsi+ ku bw’abantu biwe bose+. 16 Yowabu+ mwene Zeruwiya ni we yagaba ingabo; Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umukarani. 17 Zadoki+ mwene Ahitubu na Ahimeleki+ mwene Abiyatari bari abaherezi, Seraya na we akaba umunyamabanga. 18 Benaya+ mwene Yehoyada ni we yagaba Abakereti+ n’Abapeleti+. Nayo bene Dawidi, baba abaherezi*+.

9 Maze Dawidi avuga ati: “Hari uwoba agisigaye mu nzu ya Sauli ngo ndamugirire ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani+?” 2 Ico gihe inzu ya Sauli yari ifise umusuku yitwa Ziba+. Nuko baramuhamagara ngo agende aho Dawidi ari; umwami amubwira rero ati: “Uri Ziba?” Na we ati: “Ndi umusuku wawe.” 3 Umwami abandanya kuvuga ati: “Mbega nta wugisigaye mu nzu ya Sauli ngo ndamugirire ubuntu bwuzuye urukundo bw’Imana+?” Ziba aca abwira umwami ati: “Haracariho mwene Yonatani, amugaye ibirenge+.” 4 Maze umwami amubwira ati: “Ari hehe?” Ziba abwira rero umwami ati: “Ehe ari mu nzu ya Makiri+ mwene Amiyeli, i Lo-debari+.”

5 Umwami Dawidi aca atuma kumutora mu nzu ya Makiri mwene Amiyeli, i Lo-debari. 6 Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sauli, yinjiye aho Dawidi ari, aca agwa yubamye, akubita inkoro hasi+. Maze Dawidi avuga ati: “Mefibosheti!” Na we ati: “Ndi hano umusuku wawe.” 7 Dawidi abandanya kumubwira ati: “Ntutinye, kuko ntazobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bwa Yonatani so wawe+; kandi nzogusubiza koko itongo+ ryose rya Sauli sokuru wawe, kandi wewe ubwawe uzokwama urira umukate ku meza yanje+.”

8 Nuko akubita inkoro hasi maze avuga ati: “Umusuku wawe ni iki, ku buryo wahindukirije mu maso hawe ku mbwa ipfuye+ nkanje?” 9 Umwami ahamagara rero Ziba umusuku wa Sauli, amubwira ati: “Ikintu cose cari ica Sauli be n’icari ic’inzu yiwe yose, ndagihaye+ umwuzukuru wa shobuja. 10 Uze umurimire ubutaka, wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe, kandi uze umwimburire umwimbu, uno uze ubere ibifungurwa abegukira umwuzukuru wa shobuja, na bo baze babirye; mugabo Mefibosheti, umwuzukuru wa shobuja, azokwama arira umukate ku meza yanje+.”

Kandi Ziba yari afise abahungu cumi na batanu n’abasuku mirongo ibiri+. 11 Nuko Ziba abwira umwami ati: “Umusuku wawe azokora yisunze ivyo umukama wanje umwami ategetse umusuku wiwe vyose; mugabo Mefibosheti+ arira ku meza yanje nk’umwe mu bahungu b’umwami.” 12 Kandi Mefibosheti yari afise umuhungu akiri muto yitwa Mika+, nayo ababa mu nzu ya Ziba bose bakaba bari abasuku ba Mefibosheti. 13 Mefibosheti yaba i Yeruzalemu, kuko ku meza y’umwami ari ho yama arira+; kandi yari amugaye ibirenge vyompi+.

10 Inyuma y’ivyo, umwami wa bene Amoni+ arapfa, maze Hanuni umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 2 Nuko Dawidi avuga ati: “Nzogirira ubuntu bwuzuye urukundo Hanuni mwene Nahashi, nk’uko nyene se wiwe yangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+.” Dawidi rero atuma kumuhoza ku bijanye na se wiwe, biciye ku basuku biwe+, maze abasuku ba Dawidi bashika mu gihugu ca bene Amoni. 3 Ariko abaganwa ba bene Amoni babwira Hanuni umukama wabo bati: “Ugira ngo icatumye Dawidi atuma abo kuguhoza ni ukugira ngo atere iteka so mu maso yawe? Mbega Dawidi ntiyatumye abasuku biwe kuri wewe ku bwo kugendura igisagara, kugitata+ no kugitembagaza+?” 4 Hanuni rero afata abo basuku ba Dawidi, amwa igice c’ubwanwa bwabo+ araherengeteza yongera acacuramwo kubiri impuzu zabo, azicacurira ku bibuno vyabo, araheza arabarungika+. 5 Mu nyuma abantu babimenyesha Dawidi, na we aca atuma abaja guhura na bo, kuko abo bagabo bumva ko bateterejwe cane; umwami abandanya kuvuga ati: “Nimugume i Yeriko+ gushika ubwanwa bwanyu bukuze bukaba bwinshi. Muzoheza mugaruke.”

6 Mu nyuma bene Amoni babona yuko basigaye banukira+ Dawidi, maze abo bene Amoni batuma guhera Abasiriya b’i Beti-rehobu+ n’Abasiriya b’i Zoba+, abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru, be n’umwami wa Mayaka+ kumwe n’abagabo igihumbi, kwa Ishitobu na ho hava abagabo ibihumbi cumi na bibiri. 7 Dawidi avyumvise, arungika rero Yowabu n’ingabo zose n’abagabo b’abanyenkomezi+. 8 Maze bene Amoni barasohoka, batonda urugamba ku bwinjiriro bw’irembo, eka n’Abasiriya b’i Zoba n’i Rehobu+, na Ishitobu na Mayaka batonda urugamba ukwabo mu gahinga+.

9 Yowabu abonye ko ibitero vyari bimuturutse imbere n’inyuma, aca atora bamwe mu bagabo b’abahizi+ bose bo muri Isirayeli, abatondesha urugamba kugira bahure n’Abasiriya. 10 Abantu basigaye, abashira mu kuboko kwa Abishayi+ mwene wabo kugira ngo abatondeshe urugamba ngo bahure na bene Amoni+. 11 Hanyuma avuga ati: “Abasiriya nibaba abakomeye rwose bakananira, uce umbera ubukiriro; mugabo bene Amoni nibaba abakomeye rwose bakakunanira, nanje rero ndaza kugukiza+. 12 Ukomere, kugira ngo tugire umutima rugabo+ turwanire abantu bacu n’ibisagara vy’Imana yacu+; nayo Yehova, arakora ico abona ko ari ciza mu maso yiwe+.”

13 Nuko Yowabu n’abantu bari kumwe na we begera imbere ngo barwanye Abasiriya, maze bano barahunga bava imbere yiwe+. 14 Nayo bene Amoni, babona ko Abasiriya bahunze, na bo barahunga bava imbere ya Abishayi hanyuma binjira mu gisagara+. Inyuma y’ivyo, Yowabu asubira inyuma, areka bene Amoni, aza i Yeruzalemu+.

15 Abasiriya babonye ko batsinzwe imbere ya Isirayeli, bikoraniriza hamwe. 16 Hadadezeri+ atuma rero gusohora Abasiriya bari mu karere ka rwa Ruzi+; hanyuma baza i Helamu, Shobaki+ umukuru w’ingabo za Hadadezeri akaba ari we yari abagiye imbere.

17 Babimenyesheje Dawidi, aca akoranya Isirayeli yose maze ajabuka Yorodani, ashika i Helamu. Nuko Abasiriya batonda urugamba kugira bahure na Dawidi, maze batangura kumurwanya+. 18 Mugabo Abasiriya barahunga+ bava imbere ya Isirayeli; nuko Dawidi yica mu Basiriya abatwara imikogote+ amajana indwi n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongo ine, Shobaki umukuru w’ingabo zabo na we aramugarika, apfira ng’aho+. 19 Abami+ bose, abasuku ba Hadadezeri, babonye ko batsinzwe imbere ya Isirayeli+, baca bagiriranira amahoro na Isirayeli, batangura kubakorera+; nuko Abasiriya batinya gusubira kugerageza gukiza bene Amoni+.

11 Nuko mu ntango z’umwaka+, igihe abami basanzwe basohoka ku rugamba+, Dawidi arungika Yowabu ari kumwe n’abasuku biwe na Isirayeli yose, kugira bahonye bene Amoni+ no kugira basugereze Raba+, mu gihe Dawidi yaba i Yeruzalemu.

2 Ku mugoroba Dawidi aravyuka ava ku gitanda ciwe, agendagenda hejuru ku gisenge+ c’inzu y’umwami; ari hejuru kuri nya gisenge abona+ umugore ariko yiyuhagira, kandi uwo mugore yasa neza cane+. 3 Dawidi atuma rero kubaza ivya nya mugore+ maze umuntu umwe avuga ati: “None urya si Bati-sheba+ umukobwa wa Eliyamu+, umugore wa Uriya+ Umuheti+?” 4 Inyuma y’ivyo, Dawidi atuma intumwa kumuzana+. Yinjira rero aho Dawidi ari+ maze Dawidi aryamana na we+, ico gihe uwo mugore akaba yariko yihumanura ubuhumane bwiwe+. Mu nyuma asubira ku nzu yiwe.

5 Uwo mugore aribungenga. Maze atuma kumenyesha Dawidi ngo: “Ndibungenze.” 6 Dawidi rero atuma kuri Yowabu ati: “Ndungikira Uriya Umuheti.” Yowabu aca arungika Uriya kuri Dawidi. 7 Uriya ashitse kuri Dawidi, uno atangura kumubaza amakuru ya Yowabu n’amakuru y’abantu n’amakuru y’intambara. 8 Amaherezo Dawidi abwira Uriya ati: “Manuka ku nzu yawe, woge ibirenge+.” Uriya araheza arasohoka ava mu nzu y’umwami, n’ingabirano y’ubugenzi y’umwami isohoka imukurikiye. 9 Ariko Uriya aryama mu bwinjiriro bw’inzu y’umwami, hamwe n’abandi basuku b’umukama wiwe bose, ntiyamanuka ku nzu yiwe. 10 Nuko bamenyesha Dawidi bati: “Uriya ntiyamanutse ku nzu yiwe.” Dawidi aca abwira Uriya ati: “None ntiwashitse uvuye ku rugendo? Kubera iki utamanutse ku nzu yawe?” 11 Uriya aca abwira Dawidi ati: “Isandugu+ na Isirayeli na Yuda baba mu nsago kandi umukama wanje Yowabu n’abasuku b’umukama wanje+ bakambitse mu gahinga, none nanje, ninjire mu nzu yanje ndye, nywe nongere ndyamane n’umugore wanje+? Ndahiye ukubaho kwawe n’ubuzima bwawe+, singenda nkoze ico kintu!”

12 Maze Dawidi abwira Uriya ati: “Guma ng’aha n’uyu musi, ejo nzoheza nkurungike.” Uriya rero aguma i Yeruzalemu uwo musi be n’umusi ukurikira. 13 Vyongeye, Dawidi aramuhamagara kugira arire imbere yiwe no kugira anywe. Nuko aramuboreza+. Mugabo ku mugoroba arasohoka, aja kuryama ku gitanda ciwe hamwe n’abasuku b’umukama wiwe, ntiyamanuka ku nzu yiwe. 14 Mu gitondo, Dawidi yandikira ikete+ Yowabu hanyuma arirungika biciye mu kuboko kwa Uriya. 15 Muri iryo kete yari yanditse ati+: “Nimushire Uriya imbere y’ibitero bikomeye kurusha ibindi+, muheze mumuve inyuma, maze bamugarike, apfe+.”

16 Nuko mu gihe Yowabu yari acungereye igisagara, ashira Uriya ahantu yari azi ko hari abagabo b’intwari+. 17 Abagabo bo mu gisagara basohotse bakarwanya Yowabu, bamwe mu bantu, abasuku ba Dawidi, barapfa; Uriya Umuheti na we nyene arapfa+. 18 Nuko Yowabu atuma intumwa kugira ngo amenyeshe Dawidi ibijanye n’intambara vyose. 19 Ategeka kandi iyo ntumwa ati: “Ukirangiza kubwira umwami ibijanye n’intambara vyose, 20 ubushangashirwe bw’umwami nibwaduga maze akakubwira koko ati: ‘Kubera iki vyabaye ngombwa ko mwegera cane igisagara kugira ngo murwane? Ntimwari muzi ko bobarashe bari hejuru ku ruhome? 21 None ni nde yishe Abimeleki+ mwene Yerubesheti+? Mbega umugore si we yamutereyeko ingasiro+ ari hejuru ku ruhome ku buryo apfira i Tebezi+? Kubera iki none vyabaye ngombwa ko mwegera cane uruhome?’, nawe uze uvuge uti: ‘Umusavyi wawe Uriya Umuheti na we nyene yarapfuye+.’”

22 Nya ntumwa iragenda rero, ija kwiganira Dawidi ivyo Yowabu yari yamutumye vyose. 23 Maze iyo ntumwa ibwira Dawidi iti: “Nya bagabo baratunesheje, ku buryo basohoka kuturwanya mu gahinga; mugabo twagumye tubasunika gushika ku bwinjiriro bw’irembo. 24 Abarashi bagumye barasa abasuku bawe, bakabarasa bari hejuru ku ruhome+, ku buryo bamwe mu basuku b’umwami bapfa; kandi umusuku wawe Uriya Umuheti, na we nyene yarapfuye+.” 25 Dawidi aca abwira nya ntumwa ati: “Uze ubwire Yowabu uti: ‘Ico kintu ntikiboneke ko ari kibi mu maso yawe, kuko inkota mu kurya+ idatora. Niwongereze urugamba rwawe rwo kurwanya ico gisagara, ugisenyurire hasi+.’ Nawe, uze umuremeshe.”

26 Maze umugore wa Uriya yumva ko Uriya umugabo wiwe yari yapfuye, atangura rero kuborogera+ umugabo wiwe+. 27 Ikigandaro+ kirenganye, Dawidi aca atuma kumutora, bamuzana mu nzu iwe, maze aba umugore wiwe+. Mu nyuma amuvyarira umuhungu, mugabo ico kintu Dawidi yari yakoze kiboneka nabi+ mu maso+ ya Yehova.

12 Yehova arungika Natani+ kuri Dawidi. Yinjira rero aho ari+, amubwira ati: “Mu gisagara kimwe hari abagabo babiri; umwe yari umutunzi uwundi akaba ntahonikora. 2 Nya mugabo w’umutunzi yari afise intama n’inka nyinshi cane+; 3 ariko nya mugabo ntahonikora nta kintu yari afise atari akagazi k’intama k’agashashi gatoyi yari yaraguze+. Yarakazigamira ubuzima, kagakurira hamwe na we be n’abahungu biwe, bose hamwe. Karya ku kimanyu ciwe c’umukate, kakanywa ku gikombe ciwe kandi kakaryama mu gikiriza ciwe; kamubera nk’umukobwa yivyariye. 4 Haciye igihe, haza umushitsi kwa nya mugabo w’umutunzi, ariko uno areka gutora zimwe mu ntama ziwe n’inka ziwe ngo azitegurire nya ngenzi yari yinjiye iwe. Nuko atora ka kagazi k’intama ka wa mugabo ntahonikora, aba ariko ategurira uwo mugabo yari yinjiye iwe+.”

5 Ishavu rya Dawidi rica rirurumbira cane uwo mugabo+, ku buryo abwira Natani ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, umugabo yakoze ico kintu akwiriye gupfa+! 6 Ku bijanye n’ako kagazi k’intama na ho, akwiye kumushumbusha+ imyagazi ine+, kubera ko yakoze ico kintu no kubera ko atagize impuhwe+.”

7 Maze Natani abwira Dawidi ati: “Uwo mugabo ni wewe! Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ni jewe nakwirobanurije amavuta+ ngo ube umwami wo kuganza Isirayeli, kandi ni jewe nakurokoye+ mu kuboko kwa Sauli. 8 Kandi nari niteguriye kuguha inzu y’umukama wawe+ n’abagore b’umukama wawe+ mu gikiriza cawe, no kuguha inzu ya Isirayeli n’iya Yuda+. Iyo biba bidahagije, nari niteguriye kukwongera ibintu nk’ivyo be n’ibindi bintu+. 9 Kubera iki wasuzuguye ijambo rya Yehova mu gukora ikibi+ mu maso yiwe? Uriya Umuheti wamugarikishije inkota+, umugore wiwe na we uramutwara umugira umugore wawe+, nayo Uriya umwicisha inkota ya bene Amoni. 10 Ubu rero, inkota+ ntizova mu nzu yawe gushika igihe kitagira urugero+, kuko wansuzuguye ugatwara umugore wa Uriya Umuheti ngo abe umugore wawe.’ 11 Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira nguhagurukirize ivyago bivuye mu nzu yawe+; nzotora abagore bawe mu maso yawe ndabahe mugenzawe+, na we azoryamana na bo izuba riva+. 12 Wewe wabikoreye mu mpisho+, jeho ico kintu nzogikorera imbere ya Isirayeli yose+ izuba riva+.’”

13 Nuko Dawidi abwira+ Natani ati: “Nacumuye kuri Yehova+.” Natani aca abwira Dawidi ati: “Yehova na we araretse igicumuro cawe ngo kirengane+. Ntugipfuye+. 14 Mugabo rero, kubera yuko wagaye koko Yehova+ biciye kuri ico kintu, uwo muhungu uhejeje kuvyarirwa na we nyene azopfa ata kabuza+.”

15 Hanyuma Natani yigira ku nzu yiwe.

Nuko Yehova akubita+ nya mwana umugore wa Uriya yari yavyariye Dawidi ku buryo arwara. 16 Maze Dawidi atangura kurondera Imana y’ukuri ku bw’uwo muhungu, kandi Dawidi atangura kwisonzesha bimwe bikaze+; arinjira, amara ijoro aryamye hasi+. 17 Abagabo b’inararibonye b’inzu yiwe bahagarara rero hejuru yiwe kugira ngo bamuhagurutse bamukuye hasi, mugabo ntiyemera kandi ntiyafata umukate+ ari kumwe na bo. 18 Ku musi ugira indwi, uwo mwana arateba arapfa. Nuko abasuku ba Dawidi batinya kumubwira yuko nya mwana yari yapfuye; kuko bavuga bati: “Ehe, umwana akiri muzima twaramuvugishije, ntiyumviriza ijwi ryacu; twomubwira gute none ngo: ‘Wa mwana yapfuye’? Ntabura guca akora ikintu kibi.”

19 Dawidi abonye yuko abasuku biwe bariko bavugana ubwongoshwe, amenya yuko nya mwana yapfuye. Dawidi abwira rero abasuku biwe ati: “Wa mwana yapfuye?” Na bo bati: “Yapfuye.” 20 Maze Dawidi arahaguruka ava hasi, aroga yongera yisiga+ amavuta araheza ahindura imitamana yiwe maze aja ku nzu+ ya Yehova, akubita inkoro hasi+; inyuma y’ivyo yinjira mu nzu yiwe maze asaba ibifungurwa, baca bashira umukate imbere yiwe, na we atangura kurya. 21 Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Ico kintu ukoze gisobanura iki? Igihe uwo mwana yari akiri muzima, wisonzesha kandi ukaguma umuririra; none umwana akimara gupfa wahagurutse utangura kurya umukate.” 22 Na we avuga ati: “Umwana akiri muzima nisonzesha+ kandi nkaguma ndira+, kuko nibwira nti: ‘Ni nde abizi? Hari aho Yehova yongirira ubutoni, maze uwo mwana akabaho koko+.’ 23 None ubu ko yapfuye, ndacisonzeshereza iki? Mbega noshobora kumugarukana+? Jewe nzoja iyo ari+, mugabo we ntazogaruka aho ndi+.”

24 Nuko Dawidi atangura guhoza Bati-sheba umugore wiwe+. Vyongeye, yinjira iyo ari maze aryamana na we. Mu nyuma avyara umuhungu+, uno bamwita Salomo+. Kandi Yehova ubwiwe aramukunda+. 25 Arungika rero ubutumwa biciye kuri Natani+ umuhanuzi maze amwita Yedidiya*, kubera Yehova.

26 Yowabu+ abandanya kurwanya Raba+ ha bene Amoni maze afata igisagara c’ubwo bwami. 27 Yowabu atuma rero intumwa kuri Dawidi, ati: “Narwanije Raba+. Nafashe kandi igisagara c’amazi. 28 Ubu rero, koranya abantu basigaye, mukambike kugira murwanye ico gisagara, mugifate; kugira ngo ntabe ari jewe mfata ico gisagara, no kugira ngo nticitirirwe izina ryanje.”

29 Dawidi akoranya rero abantu bose maze aja i Raba, araharwanya hanyuma arahafata. 30 Akura urugori rwa Malikamu* ku mutwe wayo+, uburemere bwarwo bukaba bwari italanto y’inzahabu, kumwe n’amabuye y’agaciro; nuko ruba ku mutwe wa Dawidi. Isahu+ ry’ico gisagara, iryo yasohoye, ryari ryinshi cane. 31 Abantu bari muri co arabasohora kugira abashire ku gikorwa co kugegenesha amabuye imisumeno n’ico gukoresha ibikoresho bikarishe vy’icuma+ be n’ico gukoresha amashoka y’icuma, yongera abakoresha igikorwa co kubumba amatafari. Ukwo ni ko yagirira ibisagara vyose vya bene Amoni. Amaherezo Dawidi n’abantu bose basubira i Yeruzalemu.

13 Inyuma y’ivyo bintu, ivyabaye n’ibi: Abusalomu+ mwene Dawidi yari afise mushikiwe mwiza yitwa Tamari+; nuko Amunoni+ mwene Dawidi aramukunda+. 2 Amunoni aratuntura cane ku buryo yumva arwaye+ kubera Tamari mushikiwe, kuko yari umwigeme w’isugi, bikaba vyari bigoye mu maso+ ya Amunoni kugira ikintu na kimwe akoze kuri we+. 3 Kandi Amunoni yari afise umugenzi yitwa Yehonadabu+, mwene Shimeya+, mwene wabo na Dawidi; uwo Yehonadabu yari umugabo w’inkerebutsi cane. 4 Amubwira rero ati: “Kubera iki wewe, umwana w’umwami, wama udendebutse gutyo buri gitondo? Ntiwombwira none+?” Amunoni aca amubwira ati: “Ndakunda+ Tamari mushiki+ wa Abusalomu mwene wacu.” 5 Yehonadabu aca amubwira ati: “Ryama ku gitanda cawe wirwaze+. So azoza kukuraba ata gukeka, nawe uze umubwire uti: ‘Ndakwinginze, Tamari mushikanje yinjire ampe umukate w’umurwayi; akorere koko umukate w’uruhoza mu maso yanje kugira ngo ndawubone, nanje ndye koko ibivuye mu kuboko kwiwe+.’”

6 Nuko Amunoni araryama, arirwaza+, ku buryo umwami yinjira kumuraba. Maze Amunoni abwira umwami ati: “Ndakwinginze, Tamari mushikanje yinjire aheze yokereze mu maso yanje udutsima tubiri dufise imero y’umutima, kugira nakire umukate w’umurwayi mu kuboko kwiwe.” 7 Dawidi aca atuma kuri Tamari mu nzu ati: “Ndakwinginze ugende ku nzu ya Amunoni musazawe, umuronderere umukate w’uruhoza.” 8 Tamari aca agenda ku nzu ya Amunoni+ musazawe, mu gihe uno yari aryamye. Maze afata igicumbe c’ifu aragicumba hanyuma akorera udutsima mu maso yiwe araheza akaranga nya dutsima dufise imero y’umutima. 9 Amaherezo atora ipanu ifukuye hanyuma asuka ibirimwo imbere ya Amunoni, mugabo uno yanka kurya, avuga ati: “Nimusohore abantu bose bave aho ndi+!” Maze abantu bose barasohoka bava aho ari.

10 Amunoni abwira rero Tamari ati: “Zana uwo mukate w’uruhoza mu cumba, kugira ngo ndawufate bwa murwayi, uvuye mu kuboko kwawe.” Nuko Tamari atora nya dutsima dufise imero y’umutima yari yakoze, atuzanira Amunoni musazawe mu cumba. 11 Amwegereye kugira ngo arye, aca aramucakira+, amubwira ati: “Ingo turyamane+, mushikanje+.” 12 Ariko amubwira ati: “Oya musazanje! Ntuntetereze+; kuko kugira gutyo bitamenyerewe muri Isirayeli+. Ntukore ubwo busazi bw’agaterasoni+. 13 Mbega nanje, nzojana hehe iceyi canje? Kandi nawe, uzocika nk’umwe mu bagabo b’imburabwenge muri Isirayeli. None rero ndakwinginze, uvugane n’umwami kuko atazokunyima.” 14 Nuko ntiyemera kwumviriza ijwi ryiwe, mugabo akoresha inguvu ziruta iziwe, aramutetereza+, aryamana na we+. 15 Maze Amunoni atangura kumwanka urwanko rukomeye cane, kuko urwanko yamwanse rwaruse urukundo yari yaramukunze, ku buryo Amunoni amubwira ati: “Haguruka ugende!” 16 Na we amubwira ati: “Oya musazanje; kuko iki kibi ugize mu kundungika kiruta ico kindi wagiranye nanje!” Mugabo ntiyemera kumwumviriza.

17 Aca ahamagara umusuku wiwe yamusereva maze avuga ati: “Ndakwinginze urungike uwo muntu kure yanje, hanze, maze wugare umuryango inyuma yiwe.” 18 (Kandi yari yambaye ikanzu y’uturongorongo+; kuko ukwo ari ko abakobwa b’umwami, abigeme b’isugi, bambara imyitero itagira amaboko.) Nuko nya muserevyi wiwe amusohora hanze, araheza yugara umuryango inyuma yiwe. 19 Maze Tamari ashira iminyota+ ku mutwe wiwe, nya kanzu y’uturongorongo yari kuri we na yo arayitantamura; vyongeye yikorera amaboko+, araheza aragenda, agenda ararira.

20 Nuko Abusalomu+ musazawe amubwira ati: “Mbega Amunoni+ musazawe ni we yari kumwe nawe? None rero mushikanje, niwinumire. Ni musazawe+. Ntushire umutima kuri ico kintu.” Maze Tamari atangura kuba mu nzu ya Abusalomu musazawe, ata bandi bantu babonana. 21 Umwami Dawidi yumva ivyo bintu vyose+, arashavura cane+. 22 Nuko Abusalomu ntiyagira ico avugana na Amunoni, ari kibi canke ciza; kuko Abusalomu yanka+ Amunoni kubera yari yaratetereje Tamari mushikiwe.

23 Haheze imyaka ibiri yuzuye, Abusalomu agira abakemuzi b’intama+ i Bayali-hazori, ahegeranye na Efurayimu+; nuko Abusalomu atumira abahungu b’umwami bose+. 24 Abusalomu rero yinjira aho umwami ari maze avuga ati: “Ehe ubu umusuku wawe arafise abakemuzi b’intama! Ndakwinginze, ureke umwami n’abasuku biwe bajane n’umusuku wawe.” 25 Mugabo umwami abwira Abusalomu ati: “Oya mwananje! Ndakwinginze ntitugende twese, kugira ngo ntitukubere umuzigo.” Naho yagumye amugobera+, ntiyemeye kugenda, mugabo aramuhezagira+. 26 Amaherezo Abusalomu avuga ati: “Nutagenda, ndakwinginze ureke Amunoni mwene wacu ajane natwe+.” Umwami aca amubwira ati: “Kubera iki yojana nawe?” 27 Nuko Abusalomu atangura kumugobera+ ku buryo arungika Amunoni n’abahungu bose b’umwami bakajana.

28 Maze Abusalomu ategeka abasuku biwe ati: “Ndabinginze mwitwararike iki kintu: umutima wa Amunoni ukimara kuryoherwa n’umuvinyu+, nanje nkababwira koko nti: ‘Nimugarike Amunoni!’, muce mumwica. Ntimutinye+. None si jewe ndabategetse? Mukomere kandi mube abagabo b’intwari.” 29 Nuko abasuku ba Abusalomu bagirira Amunoni nk’uko Abusalomu yari yategetse+; maze abandi bahungu b’umwami bose barahaguruka, umwe wese yurira inyumpu yiwe, barahunga. 30 Bari mu nzira, inkuru iza kuri Dawidi iti: “Abusalomu yishe abahungu b’umwami bose, nta n’umwe muri bo yasigaye.” 31 Umwami aca arahaguruka, atantantamura impuzu ziwe+ maze aryama hasi+, kandi abasuku biwe bose bari bahagaze iruhande yiwe, impuzu zabo zatantamutse+.

32 Ariko Yehonadabu+ mwene Shimeya+, mwene wabo na Dawidi, arishura ati: “Umukama wanje ntiyiyumvire yuko hishwe imisore yose, abahungu b’umwami, kuko Amunoni ari we wenyene yapfuye+; kubera ko vyabaye kw’itegeko rya Abusalomu: ni ikintu yashinze+ kuva umusi Amunoni yatetereza+ Tamari mushikiwe+. 33 Ubu rero, umukama wanje umwami ntashire umutima kuri iryo jambo rivuga ngo: ‘Abahungu b’umwami bose bapfuye’; ahubwo Amunoni ni we wenyene yapfuye.”

34 Muri ico gihe, Abusalomu arahunga+. Mu nyuma umusore, inderetsi+, araramura amaso araraba, abona abantu benshi bariko bazanana inzira yari inyuma yiwe yaca ku nkike y’umusozi. 35 Maze Yehonadabu+ abwira umwami ati: “Ehe abahungu b’umwami barashitse. Bibaye nk’uko ijambo ry’umusuku wawe riri+.” 36 Akirangiza kuvuga, ehe abahungu b’umwami barinjira, maze bashira ijwi hejuru bararira; mbere n’umwami be n’abasuku biwe bose bararira bimwe bikomeye. 37 Nayo Abusalomu, arahunga kugira ngo aje kwa Talimayi+ mwene Amihudi, umwami wa Geshuri+. Nuko Dawidi abandanya kugandarira+ umuhungu wiwe imisi yose. 38 Nayo Abusalomu, arahunga aja i Geshuri+; amarayo imyaka itatu.

39 Amaherezo umutima wa Dawidi umwami ucambirwa gusohoka ngo aje aho Abusalomu ari; kuko yari yarihojeje ku vyerekeye Amunoni, kubera yuko yari yarapfuye.

14 Nuko Yowabu+ mwene Zeruwiya+ amenya ko umutima w’umwami wari uhengamiye kuri Abusalomu+. 2 Yowabu atuma rero i Tekowa+ gukurayo umugore w’inkerebutsi+ maze amubwira ati: “Enda ja mu kigandaro, wambare impuzu z’ikigandaro, kandi ntiwisige amavuta+; ube nk’umugore, emwe, umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye+. 3 Hanyuma winjire aho umwami ari, umubwire iri jambo.” Yowabu aca amubwira amajambo avuga+.

4 Nuko nya mugore w’Umunyatekowa yinjira aho umwami ari maze agwa hasi+ yubamye, akubita inkoro hasi, hanyuma avuga ati: “Kiza+ mwami!” 5 Umwami aca amubwira ati: “Ni amaki?” Na we avuga ati: “Mu vy’ukuri ndi umugore w’umupfakazi+, kuko umugabo wanje yapfuye. 6 Kandi umusukukazi wawe yari afise abahungu babiri, maze abo babiri batangura kurwanira mu gahinga+, mu gihe ata murokozi+ yariho wo kubabanguranya. Amaherezo umwe agarika uwundi, aramwica. 7 None ehe umuryango wose wahagurukiye umusukukazi wawe, ukaguma uvuga uti: ‘Tanga uwagaritse mwene wabo+ kugira ngo tumwice+ kubera ubuzima bwa mwene wabo, uwo yishe, mbere tuzimanganye samuragwa!’ Kandi ntibazobura kuzimya akariro k’amakara yanje gasigaye, kugira ngo ntibahe umugabo wanje izina canke agasigarira ku buringanire bw’ubutaka+.”

8 Maze umwami abwira uwo mugore ati: “Genda mu nzu yawe; jewe ubwanje ndatanga itegeko ku bikwerekeye+.” 9 Mugabo uwo mugore w’Umunyatekowa abwira umwami ati: “Ewe mukama wanje mwami, ikosa ribe kuri jewe no ku nzu ya dawe+, ariko umwami n’intebe y’ubwami yiwe nta kibagira.” 10 Maze umwami abandanya kuvuga ati: “Nihagira uwukuvugisha uzoce umunzanira, ntazokwigera asubira kukugirira nabi.” 11 Mugabo avuga ati: “Ndakwinginze umwami yibuke Yehova Imana yawe+, kugira ngo umuhōzi w’amaraso+ ntabandanye kuyogeza, no kugira ngo ntibazimanganye umuhungu wanje.” Na we avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, nta gashatsi na kamwe+ k’umwana wawe kazokorokera hasi.” 12 Nya mugore avuga rero ati: “Ndakwinginze umusukukazi+ wawe abwire ijambo+ umukama wanje umwami.” Nuko umwami avuga ati: “Vuga+!”

13 Nya mugore abandanya kuvuga ati: “Kubera iki none wiyumviriye gutyo+ ngo ugirire nabi abantu b’Imana+? Mu gihe umwami avuga iryo jambo, ameze nk’uwufise ikimwagira+, kuko umwami atagarukana uwo yomoye+. 14 Kuko tutazobura gupfa+ tukamera nk’amazi asutswe hasi, ayadashobora kuyorwa. Mugabo Imana ntizokuraho umuntu+, kandi yararimbūye imvo zituma uwomowe ataba uwomowe imbere yayo. 15 Kuba rero ninjiye kubwira iri jambo umwami umukama wanje, ni uko abantu banteye ubwoba. Umusukukazi wawe yavuze rero ati: ‘Ndakwinginze mvugane n’umwami. Hari aho umwami yokwisunga ijambo ry’umushumbakazi wiwe. 16 Kuko umwami yumvirije kugira arokore umushumbakazi wiwe amukure mu kiganza c’umugabo arondera kunzimanganya jewe n’umuhungu wanje umwe rudende, ngo adukure ku ntoranwa yatanzwe n’Imana+,’ 17 maze umusukukazi wawe yavuze ati: ‘Ndakwinginze ijambo ry’umukama wanje umwami ribe iryo gutanga akaruhuko.’ Kuko umukama wanje umwami ameze nk’umumarayika+ w’Imana y’ukuri, kugira ngo atandukanye iciza n’ikibi+; Yehova Imana yawe ubwiwe abane nawe.”

18 Umwami arishura rero, abwira nya mugore ati: “Ndakwinginze ntihagire ico umpisha ku vyo ngira nkubaze+.” Nya mugore aca avuga ati: “Umukama wanje umwami ndamwinginze avuge.” 19 Umwami abandanya kuvuga ati: “Ukuboko kwa Yowabu+ kwoba kuri kumwe nawe muri ivyo vyose+?” Maze nya mugore arishura ati: “Ndahiye ubuzima bwawe+, ewe mukama wanje umwami, nta muntu ashobora guca iburyo canke ibubamfu ivyo umukama wanje umwami avuze vyose; kuko umusuku wawe Yowabu ari we yantegetse, kandi ni we yabwiye umusukukazi wawe ayo majambo yose+. 20 Kuko umusuku wawe Yowabu yakoze ico kintu kugira ngo nya kibazo kibonwe mu bundi buryo; mugabo umukama wanje afise ubukerebutsi nk’ubw’umumarayika+ w’Imana y’ukuri kugira ngo amenye ibiri mw’isi vyose.”

21 Mu nyuma, umwami abwira Yowabu ati: “Ehe, ubu ngira nkore koko ico kintu+. Genda rero ugarukane wa musore Abusalomu+.” 22 Yowabu aca agwa hasi yubamye, akubita inkoro hasi hanyuma ahezagira umwami+; maze Yowabu avuga ati: “Uno musi umusuku wawe aramenye koko yuko nagize ubutoni mu maso yawe+, ewe mukama wanje umwami, kuko umwami akoze yisunze ijambo ry’umusuku wiwe.” 23 Yowabu aca arahaguruka, aja i Geshuri+ maze azana Abusalomu i Yeruzalemu+. 24 Ariko umwami avuga ati: “Nakevye aje ku nzu yiwe, mugabo ntazoshobora kubona mu maso hanje+.” Abusalomu arakevya rero aja ku nzu yiwe, ntiyabona mu maso h’umwami.

25 Kandi ugereranije na Abusalomu, nta mugabo yari mwiza+ nka we muri Isirayeli yose ku buryo ashemezwa cane ukuraho. Kuva mu bworo bw’ikirenge ciwe gushika mu rutwariro, nta gahonzi yari afise. 26 Igihe yaba amoye umushatsi wo ku mutwe wiwe (kandi ku mpera za buri mwaka yarawumwa; yawumwa kubera ko wamuremera cane+), yarapima umushatsi wo ku mutwe wiwe, ukangana na shekeli amajana abiri hisunzwe uburemere bw’ibuye ry’i bwami. 27 Nuko Abusalomu avyarirwa abahungu batatu+ n’umukobwa umwe yitwa Tamari. Yari umwigeme mwiza kuruta abandi bose+.

28 Nuko Abusalomu amara imyaka ibiri yuzuye aba i Yeruzalemu, ntiyabona mu maso h’umwami+. 29 Abusalomu atuma rero kurondera Yowabu kugira ngo amutume ku mwami, mugabo ntiyemera kuza iwe. Maze asubira gutuma, ubugira kabiri, mugabo ntiyemera kuza. 30 Amaherezo abwira abasuku biwe ati: “Ehe igice c’itongo ca Yowabu kiri iruhande y’icanje, kandi afiseyo sayiri*. Gende mugihe umuriro+.” Nuko abasuku ba Abusalomu baha umuriro ico gice c’itongo+. 31 Yowabu aca arahaguruka, aza kuri Abusalomu mu nzu maze amubwira ati: “Kubera iki abasuku bawe bahaye umuriro igice c’itongo canje?” 32 Abusalomu rero abwira Yowabu ati: “Ehe naragutumyeko nti: ‘Ingo hano ndagutume ku mwami, nti: “Kubera iki navuye i Geshuri+. Vyorushirije kumbera vyiza iyo mba ncibereyeyo. Ubu rero, nureke ndenguke imbere y’umwami, kandi nimba hari ikosa muri jewe+, ntabure kunyica.”’”

33 Mu nyuma Yowabu yinjira aho umwami ari, arabimumenyesha. Maze ahamagara Abusalomu, uno yinjira rero aho umwami ari hanyuma akubita inkoro hasi, agwa hasi yubamye imbere y’umwami; inyuma y’ivyo umwami asoma Abusalomu+.

15 Inyuma y’ivyo, Abusalomu yikoreshereza umukogote, yironderera amafarasi n’abagabo mirongo itanu biruka imbere yiwe+. 2 Abusalomu yaravyuka kare+, agahagarara iruhande y’inzira ija kw’irembo+. Igihe umuntu yaba afise urubanza rubwirizwa kuza ku mwami ngo aruce+, Abusalomu yaca amuhamagara maze akavuga ati: “Uva mu gisagara ikihe?”, na we akavuga ati: “Umusuku wawe ava muri umwe mu miryango ya Isirayeli.” 3 Abusalomu na we yaramubwira ati: “Raba, ibibazo vyawe ni vyiza kandi biratumbereye; mugabo nta n’umwe ariho wo kukwumviriza yavuye ku mwami+.” 4 Abusalomu akabandanya kuvuga ati: “Ese iyo ngenwa kuba umucamanza mu gihugu+, kugira ngo umuntu wese afise imburano canke urubanza aze kuri jewe! Sinobuze kumutunganiriza+.”

5 Vyongeye, igihe umugabo yaba yegereye kugira ngo amwunamire, yaratuma ukuboko kwiwe akamufata+ maze akamusoma. 6 Abusalomu yaguma agirira gutyo Abisirayeli bose baza ku mwami bazanywe n’urubanza; Abusalomu aguma yiba imitima y’abagabo ba Isirayeli+.

7 Haheze imyaka mirongo ine, Abusalomu abwira umwami ati: “Ndakwinginze ureke ngende i Heburoni+ gushitsa indagano yanje nagiriye Yehova nshimitse+. 8 Kuko jewe umusuku wawe nagize indagano ishimitse+ igihe naba i Geshuri+ muri Siriya, nti: ‘Yehova niyangarukana ata kabuza i Yeruzalemu, sinzobura rero gukorera Yehova+.’” 9 Umwami amubwira rero ati: “Genda amahoro+.” Nuko arahaguruka, aja i Heburoni.

10 Maze Abusalomu atuma abatasi+ mu miryango ya Isirayeli yose kuvuga bati: “Mukimara kwumva ijwi ry’inzamba, muzoce muvuga muti: ‘Abusalomu abaye umwami+ i Heburoni+!’” 11 Kandi Abusalomu yari yajanye n’abagabo amajana abiri b’i Yeruzalemu, abantu bari barahamagawe kandi bagenda ata co binona+; ntibari bazi ikintu na kimwe. 12 Vyongeye, igihe Abusalomu yashikana ibimazi, atuma kurondera Ahitofeli+ Umugilo+, umujanama wa Dawidi+, mu gisagara ciwe Gilo+. Uwo mugambi mubi+ uguma urushiriza gukomera, abantu babandanya kugwirirana+ kuri Abusalomu.

13 Mu nyuma, uwumenyesha inkuru aza kuri Dawidi, avuga ati: “Umutima+ w’abagabo ba Isirayeli usigaye uri inyuma ya Abusalomu.” 14 Dawidi aca abwira abasuku biwe bose bari kumwe na we i Yeruzalemu ati: “Haguruke duhunge+; kuko tutazoronka akaryo ko kunyaga amagara kubera Abusalomu! Gende ningoga kugira ntanyaruke ngo aduhamvye hanyuma atuzaneko ikibi yongere akubitishe igisagara ubugi bw’inkota+!” 15 Abasuku b’umwami baca babwira umwami bati: “Ehe, abasuku bawe+ twiteguriye gukora twisunze ivyo umukama wanje umwami ahitamwo vyose.” 16 Umwami arasohoka rero, akurikiwe+ n’urugo rwiwe rwose, mugabo asiga abagore cumi, incoreke+, kugira ngo bitwararike inzu. 17 Maze umwami abandanya gusohoka, akurikiwe n’abantu bose; nuko bahagarara i Beti-merihaki.

18 Abasuku biwe bose bariko barajabuka baca iruhande yiwe; Abakereti bose n’Abapeleti+ bose n’Abagiti+ bose, abagabo amajana atandatu bari baramukurikiye kuva i Gati+, bariko barajabuka mu maso y’umwami. 19 Maze umwami abwira Itayi+ Umugiti ati: “Kubera iki nawe wojana natwe? Subira inyuma+ ubane n’umwami; kuko uri umunyamahanga, ukaba uri n’inyagano yakuwe ahantu hawe. 20 Ejo ni ho washika, none uno musi ntume uyererana+ natwe, kugira ngo uze urankurikira iyo nzoja hose? Subira inyuma, usubirane inyuma na bene wanyu, kandi Yehova akugirire ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’ubwizigirwa+!” 21 Mugabo Itayi yishura umwami ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova n’ukubaho kw’umukama wanje umwami+, ahantu umukama wanje umwami azoba ari, haba ku bw’urupfu canke ku bw’ubuzima, ni ho umusuku wawe azoba ari+!” 22 Dawidi aca abwira Itayi+ ati: “Genda ujabuke.” Nuko Itayi Umugiti arajabuka, be n’abantu biwe bose n’abana batoyi bose bari kumwe na we.

23 Abanyagihugu bose bariko bararira n’ijwi rirenga+, kandi abantu bose bariko barajabuka; umwami yari ahagaze iruhande y’umwonga Kidironi+, kandi abantu bose bariko barajabuka, bagendera mu nzira nini ija mu gahinga. 24 Kandi ehe na Zadoki+ ni ho yari, ari kumwe n’Abalewi+ bose bareruye+ isandugu+ y’isezerano ry’Imana y’ukuri; nuko bashira nya sandugu y’Imana y’ukuri hasi iruhande ya Abiyatari+, gushika abantu bose bari bavuye mu gisagara barangije kujabuka. 25 Mugabo umwami abwira Zadoki ati: “Subiza iyo sandugu+ y’Imana y’ukuri mu gisagara+. Ninagira ubutoni mu maso ya Yehova, azongarukana rero ata gukeka maze anyereke iyo sandugu be n’ahantu iba+. 26 Mugabo niyavuga ati: ‘Sinahimbawe nawe,’⁠—​ndi hano, angirire ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.” 27 Umwami abandanya kubwira Zadoki umuherezi ati: “None nturi rubonyi+? Nusubire mu gisagara wewe na Abiyatari, musubiraneyo n’abahungu banyu babiri, ari bo Ahimayazi umuhungu wawe na Yonatani+ umuhungu wa Abiyatari. 28 Ehe ngira ntebere iruhande y’ivyambu vy’agahinga gushika ijambo ryo kumenyesha inkuru rije rivuye kuri mwebwe+.” 29 Zadoki na Abiyatari basubiza rero isandugu y’Imana y’ukuri i Yeruzalemu, babandanya kubayo.

30 Dawidi yariko adugana umudugo w’Imyelayo+, aduga arira, umutwe wiwe upfutse+, kandi yariko agenda ibirenge bisa; nuko abantu bose bari kumwe na we umwe wese apfuka umutwe wiwe, maze baraduga, baduga barira+. 31 Nuko Dawidi amenyeshwa ngo: “Ahitofeli ari mu bariko bagirana na Abusalomu+ umugambi mubi+.” Dawidi aca avuga ati+: “Ewe Yehova+, ndakwinginze impanuro ya Ahitofeli uyihindure ubupfu+!”

32 Dawidi ashitse kw’isonga aho abantu bari basanzwe bunamira Imana, ehe Hushayi+ Umwaruki+ aza kumusanganira, ikanzu yiwe yatantamutse kandi ku mutwe wiwe hari ivu+. 33 Ariko Dawidi amubwira ati: “Hamwe wojabukana nanje koko, ntiwobura kumbera umutwaro+. 34 Mugabo niwasubira mu gisagara ukabwira koko Abusalomu uti: ‘Ndi umusuku wawe, Mwami. Jewe nari umusuku wa so ico gihe, mugabo ubu ndi umusuku wawe+,’ uzoheze unyicire+ rero impanuro ya Ahitofeli. 35 None Zadoki na Abiyatari abaherezi ntibari kumwe nawe hariya+? Ikintu cose uzokwumva kivuye mu nzu y’umwami ntuze ubure kukibwira Zadoki na Abiyatari abaherezi+. 36 Ehe hariya bari kumwe n’abahungu babo babiri, Ahimayazi+ wa Zadoki na Yonatani+ wa Abiyatari; muze mundungikire biciye kuri bo ikintu cose muzokwumva.” 37 Hushayi umugenzi wa Dawidi+ yinjira rero mu gisagara. Nayo Abusalomu+, yinjira i Yeruzalemu.

16 Dawidi amaze kurengana gatoyi nya songa+, Ziba+ umusuku wa Mefibosheti+ aza kumusanganira afise indogobwa zibiri+ ziriko amatandiko, kuri zo hakaba hari imikate+ amajana abiri, n’udutsima ijana tw’inzabibu zumye+, n’imitekero ijana y’ivyamwa vyo mu ci+, n’umubindi munini w’umuvinyu+. 2 Maze umwami abwira Ziba ati: “Ivyo bintu witwaje ni ivy’iki+?” Ziba aca avuga ati: “Indogobwa ni izo abo mu rugo rw’umwami bagenderako, imikate be n’umutekero w’ivyamwa vyo mu ci ni ivyo imisore+ irya, umuvinyu na wo ni uwo umuntu azoruha cane+ mu gahinga+ azonywa.” 3 Nuko umwami avuga ati: “None mwene shobuja ari hehe+?” Maze Ziba abwira umwami ati: “Ehe yibereye i Yeruzalemu; kuko yavuze ngo: ‘Uno musi inzu ya Isirayeli iransubiza ingoma ya dawe+.’” 4 Nuko umwami abwira Ziba ati: “Ehe ikintu cose ca Mefibosheti ni icawe+.” Ziba aca avuga ati: “Ndunamye+ koko. Ningire ubutoni mu maso yawe, mukama wanje umwami.”

5 Umwami Dawidi ashika i Bahurimu+, maze umugabo umwe wo mu muryango w’inzu ya Sauli asohoka ng’aho, akaba yitwa Shimeyi+, mwene Gera; mu gusohoka, agenda arahamagarira akabi ku mwami+. 6 Atangura gutera amabuye Dawidi n’abasuku b’Umwami Dawidi bose; kandi abantu bose n’abagabo b’abanyenkomezi bose bari iburyo bw’umwami n’ibubamfu bwiwe. 7 Ibi ni vyo Shimeyi yavuga uko yahamagarira akabi ku mwami: “Sohoka, sohoka, wa mugabo yagirwa n’amaraso+ kandi w’imburakimazi+! 8 Yehova agarukanye kuri wewe amaraso yose y’inzu ya Sauli, uwo waganje mu kibanza ciwe; kandi Yehova atanze ingoma mu kuboko kwa Abusalomu umuhungu wawe. Ehe noneho uri mu vyago vyawe, kuko uri umugabo yagirwa n’amaraso+!”

9 Amaherezo Abishayi mwene Zeruwiya+ abwira umwami ati: “Kubera iki iyo mbwa ipfuye+ yohamagarira akabi ku mukama wanje umwami+? Ndakwinginze ureke njabuke, ndamukureko umutwe+.” 10 Mugabo umwami avuga ati: “Mpuriye ku ki namwe+, ga yemwe bene Zeruwiya+? Nimumureke ahamagarire akabi kuri jewe+, kuko Yehova ari we yamubwiye ati+: ‘Hamagarira akabi kuri Dawidi!’ Ni nde none yovuga ati: ‘Kubera iki wagize gutyo+?’” 11 Dawidi abandanya kubwira Abishayi n’abasuku biwe bose ati: “Ehe umuhungu wanje, uwavuye imbere muri jewe, ariko arondera ubuzima bwanje+; hari akantu rero Umubenyamini+! Nimumureke ahamagarire akabi kuri jewe, kuko Yehova yabimubwiye! 12 Kumbure Yehova ari bubone+ n’ijisho ryiwe, kandi Yehova ntabura kunsubiza ineza mu kibanza c’umuvumo wa Shimeyi w’uyu musi+.” 13 Nuko Dawidi n’abantu biwe babandanya kugenda mu nzira, mu gihe Shimeyi yariko agendera ku nkike y’umusozi, agenda abangabanganye na we kugira ngo ahamagarire akabi kuri Dawidi+; aguma atera amabuye uko yagenda abangabanganye na we, agatera n’inkungugu nyinshi+.

14 Amaherezo umwami n’abantu bose bari kumwe na we barashika, barushe. Nuko bagarurira agatege ng’aho+.

15 Nayo Abusalomu n’abantu bose, abagabo ba Isirayeli, binjira i Yeruzalemu+; kandi Ahitofeli+ yari kumwe na we. 16 Hushayi+ Umwaruki+, umugenzi wa Dawidi+, akimara kwinjira aho Abusalomu ari, atangura kubwira Abusalomu ati: “Umwami nabeho+! Umwami nabeho!” 17 Abusalomu aca abwira Hushayi ati: “Mbega ubu ni bwo buntu bwuzuye urukundo ugiriye umugenzi wawe? Kubera iki utajanye n’umugenzi wawe+?” 18 Hushayi abwira rero Abusalomu ati: “Oya, ahubwo uwo Yehova yatoye, be n’aba bantu hamwe n’abagabo ba Isirayeli bose, nzoba uwiwe, kandi nzobana na we. 19 Kandi ubugira kabiri mvuze nti: ‘Ni nde nzokorera? Mbega si imbere y’umuhungu wiwe? Nk’uko nakoreye imbere ya so, ni ko nzoba imbere yawe+.’”

20 Mu nyuma Abusalomu abwira Ahitofeli ati: “Nimutange impanuro+. Tugire iki?” 21 Maze Ahitofeli abwira Abusalomu ati: “Nuryamane n’incoreke za so+, izo yasize ngo zitwararike inzu+. Maze Isirayeli yose ntizobura kwumva ko wigize umunuko+ kuri so+, kandi amaboko+ y’abari kumwe nawe bose azokomera ata gukeka.” 22 Nuko bashingira ihema Abusalomu ku gisenge+, maze Abusalomu atangura kuryamana n’incoreke za se+ mu maso ya Isirayeli yose+.

23 Kandi impanuro Ahitofeli yatanga muri iyo misi, wamengo ni nk’aho umuntu asiguje ijambo ry’Imana y’ukuri. Ukwo ni ko impanuro+ yose ya Ahitofeli+ yamera kuri Dawidi no kuri Abusalomu.

17 Ahitofeli abwira Abusalomu ati: “Ndakwinginze ureke ntore abagabo ibihumbi cumi na bibiri maze mpaguruke, nome inyuma Dawidi muri iri joro+. 2 Ndaheza nshike kuri we mu gihe azoba arambiwe kandi aregeye amaboko yompi+, maze ntume koko ajugumira; abantu bose bari kumwe na we baraheza bahunge ata kabuza, nanje ata gukeka nice umwami wenyene+. 3 Ureke ngarukane abantu bose kuri wewe. Ukugaruka kw’abantu bose guhagaze kuri uwo mugabo uriko urarondera; kandi abantu bose bazoba amahoro.” 4 Iryo jambo riba irigororotse mu maso ya Abusalomu+ no mu maso y’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bose.

5 Ariko Abusalomu avuga ati: “Ndakwinginze uhamagare na Hushayi+ Umwaruki, twumve iriri mu kanwa kiwe, egome mu kanwa kiwe.” 6 Hushayi yinjira rero aho Abusalomu ari. Maze Abusalomu amubwira ati: “Ahitofeli yavuze gutya. None dukurikize ijambo ryiwe? Atari aho, nuvuge wewe ubwawe.” 7 Hushayi aca abwira Abusalomu ati: “Impanuro Ahitofeli yatanze, ubu hoho si nziza+!”

8 Hushayi abandanya kuvuga ati: “Wewe ubwawe urazi neza so wawe n’abantu biwe, yuko ari abanyenkomezi+, kandi ni abantu b’umutima udundumiwe+, nk’idubu y’ingore yatakaje ivyana vyayo mu gahinga+; so wawe ni umurwanyi+, ntari burarane n’abantu. 9 Ehe, ubu yinyegeje+ muri umwe mu myobo canke muri kimwe mu bindi bibanza; niyatangura kubatera, uwuzovyumva ntazobura kwumva maze akavuga ati: ‘Habaye ugutsindwa mu bantu bakurikira Abusalomu!’ 10 Mbere n’umugabo w’intwari afise umutima umeze nk’umutima w’intambwe+ azogoyagoya ata gukeka+; kuko Isirayeli yose izi yuko so wawe ari umugabo w’umunyenkomezi+, nk’uko biri no ku bagabo b’intwari bari kumwe na we+. 11 Jewe ubwanje mpanuye rero nti: Isirayeli yose nikoranire kuri wewe, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, ibe nk’utuvunguka tw’umusenyi turi iruhande y’ikiyaga mu bwinshi+, kandi nawe ubwawe uje mu ndwano+. 12 Tuzomutera muri kimwe mu bibanza azoba arimwo koko+, kandi twebwe ubwacu tuzomugwako nk’uko ikime+ kigwa ku butaka; kandi ata gukeka ntihazosigara n’umwe muri we n’abagabo bose bari kumwe na we. 13 Niyavayo akaja mu gisagara kanaka, Isirayeli yose izotwara rero imigozi kuri nya gisagara, duheze tukiburute gushika mu mwonga, gushika aho ata n’akabuye kabonekayo+.”

14 Maze Abusalomu n’abagabo ba Isirayeli bose bavuga bati: “Impanuro ya Hushayi Umwaruki ni nziza+ kuruta impanuro ya Ahitofeli!” Kandi Yehova ubwiwe yari yaratanze itegeko+ ryo kwica impanuro+ ya Ahitofeli naho ari nziza+, kugira ngo Yehova azane ivyago+ kuri Abusalomu.

15 Mu nyuma Hushayi abwira Zadoki+ na Abiyatari abaherezi ati: “Ahitofeli yahanuye Abusalomu n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli uku n’uku, nanje ubwanje mpanura uku n’uku. 16 Ubu rero, nimutume vyihuta kumenyesha Dawidi+ muti: ‘Iri joro nturare mu biyaya vy’ubugaragwa vy’agahinga, mugabo na wewe ujabuke ata kabuza+, umwami n’abantu bose bari kumwe na we ntibahave bamirwa+.’”

17 Kubera ko Yonatani+ na Ahimayazi+ bari bahagaze i Eni-rogeli+, umusukukazi umwe aja kubibamenyesha. Nuko baragenda, kuko bategerezwa kubimenyesha Umwami Dawidi; mu bisanzwe baratinya kubonwa binjira mu gisagara. 18 Ariko umusore umwe arababona maze abimenyesha Abusalomu. Uko ari babiri baragenda rero vyihuta maze bashika ku nzu y’umugabo umwe i Bahurimu+, uwari afise iriba mu kigo ciwe; nuko bamanuka muri ryo. 19 Hanyuma umugore wiwe afata igikingirizo araheza agisanza ku munwa wa nya riba maze arunda kuri co intete zihuye+; ntihagira ikintu na kimwe kimenyekana kuri ivyo. 20 Nuko abasuku ba Abusalomu bashika aho uwo mugore ari, mu nzu yiwe, maze bavuga bati: “Ahimayazi na Yonatani bari hehe?” Uwo mugore aca ababwira ati: “Bavuye ng’aha barabandanya ku mazi+.” Babandanya kurondera, mugabo ntibabatora+; nuko basubira i Yeruzalemu.

21 Bamaze kugenda, baca baraduga bava muri nya riba, baja kubimenyesha Umwami Dawidi, babwira Dawidi bati: “Nimuhaguruke mujabuke amazi vyihuta; kuko uku ari ko Ahitofeli yatanze impanuro+ yo kubagirira nabi.” 22 Dawidi aca arahaguruka, be n’abantu bose bari kumwe na we, maze babandanya kujabuka Yorodani gushika bukeye+, gushika hadasigaye n’umwe atari yajabutse Yorodani.

23 Nayo Ahitofeli, abona ko impanuro yiwe itari yakurikijwe+, maze ashira itandiko ku ndogobwa hanyuma arahaguruka, aja ku nzu yiwe mu gisagara ciwe+. Maze aha amategeko urugo rwiwe+ araheza ariniga+ maze arapfa+. Nuko ahambwa+ mw’itongo ryo guhambamwo rya ba sekuruza.

24 Nayo Dawidi, ashika i Mahanayimu+, Abusalomu na we ajabuka Yorodani, ari kumwe n’abagabo ba Isirayeli bose. 25 Amasa+ ni we Abusalomu yagize umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu+; Amasa yari umuhungu w’umugabo yitwa Itira+ Umwisirayeli, uwari yararyamanye na Abigayili+ umukobwa wa Nahashi, mwene wabo na Zeruwiya, nyina wa Yowabu. 26 Nuko Isirayeli na Abusalomu bakambika mu gihugu ca Gileyadi+.

27 Dawidi akimara gushika i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi w’i Raba+ ha bene Amoni+, na Makiri+ mwene Amiyeli+ w’i Lo-debari, na Baruzilayi+ Umugileyadi w’i Rogelimu+ 28 bazana ibitanda, n’amabesani, n’ivyombo vy’umubumvyi, n’ingano, na sayiri, n’ifu+, n’intete zikaranze+, n’ibiharo+, n’inkore+, n’intete zumye, 29 n’ubuki+, n’amasoro+, n’intama, n’urubu rw’inka, babizanira Dawidi n’abantu bari kumwe na we kugira ngo barye+, kuko bavuga bati: “Abantu barashonje, bararushe kandi baranyotewe mu gahinga+.”

18 Nuko Dawidi aharura abantu bari kumwe na we, maze abashiriraho abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana+. 2 Hanyuma Dawidi arungika ica gatatu+ c’abantu kiyobowe na Yowabu+, ikindi ca gatatu kiyobowe na Abishayi+ mwene Zeruwiya, mwene wabo na Yowabu+, n’ica gatatu kiyobowe na Itayi+ Umugiti. Umwami araheza abwira abantu ati: “Nanje ubwanje ndasohokana namwe mu rugamba.” 3 Ariko abantu bavuga bati: “Ntusohoke mu rugamba+, kuko hamwe vyoshika tugahunga, batoshira umutima kuri twebwe+; kandi naho ica kabiri cacu bopfa, ntiboshira umutima kuri twebwe, kuko wewe ungana n’ibihumbi cumi muri twebwe+; vyoba vyiza rero ubaye hafi kugira udutabare+ uvuye mu gisagara.” 4 Nuko umwami ababwira ati: “Ndakora ivyo mubona ko ari vyiza mu maso yanyu+.” Umwami rero aguma ahagaze iruhande y’irembo+, maze abantu bose basohoka ku rugamba ari amajanajana n’ibihumbihumbi+. 5 Maze umwami ategeka Yowabu na Abishayi na Itayi ati: “Munyengengere+ wa musore Abusalomu.” Kandi abantu bose barumva igihe umwami yaha itegeko abakuru bose ku vya Abusalomu.

6 Nuko abantu babandanya gusohoka baja mu gahinga guhura na Isirayeli; urugamba rubera mu kibira ca Efurayimu+. 7 Amaherezo abantu ba Isirayeli+ batsindirwa+ ng’aho imbere y’abasuku ba Dawidi, kandi kuri uwo musi inganda ziratikira bimwe bikomeye ng’aho: hapfa abagabo ibihumbi mirongo ibiri. 8 Maze urugamba ruhera ng’aho rukwiragira mu gihugu cose umuntu yashobora kubona. Vyongeye, ikibira kirotsa abantu benshi kuruta abarokejwe n’inkota kuri uwo musi.

9 Amaherezo Abusalomu asanga ahanganye n’abasuku ba Dawidi. Abusalomu yariko agendera ku nyumpu, maze iyo nyumpu ishika munsi y’amashami azitanye y’igiti kinini, ku buryo umutwe wiwe ufatwa n’ico giti, asigara yenena hagati y’ijuru n’isi+, ya nyumpu yari yicayeko na yo ibandanya kugenda. 10 Umugabo umwe arabibona, maze abimenyesha Yowabu+, ati: “Urazi! Nabonye Abusalomu yenena ku giti kinini.” 11 Yowabu aca abwira nya mugabo yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Wabibonye! Kubera iki none utaciye umutsinda hasi ng’aho nyene? Nari guca nguha ibice cumi vy’ifeza be n’umukaba+.” 12 Ariko uwo mugabo abwira Yowabu ati: “Naho nari gupimirwa mu biganza vyanje ibice igihumbi vy’ifeza, sinari gutuma ukuboko kwanje ngo ngirire nabi umwana w’umwami; kuko mwe na Abishayi na Itayi umwami yabategetse twumva, ati: ‘Waba uri nde, ugumize ijisho kuri uwo musore, kuri Abusalomu+.’ 13 Ahandiho nari kuba ndamuhemukiye kandi ico kintu nticari kunyegezwa umwami+, kandi nawe ubwawe wari kuvyikurako ukaja ku ruhande.” 14 Yowabu aca avuga ati: “Nta co nirirwa ndata umwanya imbere yawe!” Aca afata uducumu dutatu mu kiganza ciwe, aducumita+ mu mutima wa Abusalomu akiri muzima hagati+ muri ca giti kinini. 15 Maze abasuku cumi bari batwaye ibirwanisho vya Yowabu bakikuza Abusalomu, baraheza baramukubita kugira bamwice+. 16 Yowabu aca avuza inzamba+, kugira abantu bahindukire bareke kwoma inyuma Isirayeli; kuko Yowabu yari yagumije abantu. 17 Amaherezo bafata Abusalomu, bamuta mu kibira, mu mwobo munini hanyuma barunda hejuru yiwe ikirundo kinini cane c’amabuye+. Isirayeli yose irahunga, umwe wese aja i muhira iwe.

18 Kandi Abusalomu ubwiwe akiriho, yari yarafashe inkingi+ arayishingira, ino ikaba iri mu Kiyaya co Hasi c’Umwami+, kuko yavuga ati: “Nta muhungu mfise kugira ngo izina ryanje rize rigume ryibukwa+.” Yita rero nya nkingi izina ryiwe+, kandi ibandanya kwitwa Icibutso ca Abusalomu gushika n’uyu musi.

19 Nayo Ahimayazi+ mwene Zadoki, avuga ati: “Ndakwinginze undeke niruke kumenyesha iyo nkuru umwami, kuko Yehova yamuciriye urubanza kugira amukure mu kuboko kw’abansi biwe+.” 20 Ariko Yowabu amubwira ati: “Uyu musi nturi umugabo wo kumenyesha inkuru; uzomenyesha inkuru ku wundi musi; mugabo uyu musi ntumenyeshe inkuru, kubera ko umwana w’umwami yapfuye+.” 21 Maze Yowabu abwira Umukushi+ ati: “Genda umenyeshe umwami ivyo wabonye.” Nya Mukushi aca yunamira Yowabu, hanyuma atangura kwiruka. 22 Nuko Ahimayazi mwene Zadoki yongera kubwira Yowabu ati: “Ubu rero uko bigenda kwose, ndakwinginze undeke nanje niruke inyuma y’urya Mukushi.” Ariko Yowabu avuga ati: “Wirirwa urirukira iki ga mwananje, kandi ata nkuru iriho uri bumenyeshe?” 23 Mugabo avuga ati: “Ubu rero uko bigenda kwose, nundeke niruke.” Na we amubwira ati: “Iruka!” Nuko Ahimayazi atangura kwiruka ajanye inzira y’Intara+, amaherezo arengana wa Mukushi.

24 Kandi Dawidi yari yicaye hagati ya ya marembo abiri+. Ako kanya, inderetsi+ ija ku gisenge c’irembo iruhande y’uruhome. Maze iraramura amaso, ibona umugabo ariko yiruka ari wenyene. 25 Nya nderetsi rero ihamagara umwami, irabimumenyesha maze umwami avuga ati: “Nimba ari wenyene, hari inkuru iri mu kanwa kiwe.” Abandanya kuza, arushiriza kwegereza. 26 Nuko nya nderetsi ibona uwundi mugabo ariko yiruka. Maze iyo nderetsi ihamagara umurinzi w’irembo, ivuga iti: “Ehe uwundi mugabo ariko yiruka ari wenyene!” Umwami aca avuga ati: “N’uwo ni uwuzanye inkuru.” 27 Nya nderetsi yongera kuvuga iti: “Mbona ukuntu uwa mbere yiruka ari nk’uko Ahimayazi+ mwene Zadoki yiruka+.” Umwami aca avuga ati: “Uwo ni umuntu mwiza+, ategerezwa kuba azanye inkuru nziza+.” 28 Amaherezo Ahimayazi ahamagara umwami maze amubwira ati: “Vyifashe neza!” Aca yunamira umwami, mu maso hiwe hakora hasi. Abandanya kuvuga ati: “Hahezagirwe+ Yehova Imana yawe, we yatanze+ abantu babanguriye ukuboko umukama wanje umwami!”

29 Ariko umwami avuga ati: “Wa musore Abusalomu ivyiwe vyoba vyifashe neza?” Ahimayazi aca avuga ati: “Nabonye umuvurungano ukomeye igihe Yowabu yarungika umusuku w’umwami be n’umusuku wawe, ariko sinamenya ivyo ari vyo+.” 30 Umwami avuga rero ati: “Ja ku ruhande uhagarare ng’aha.” Aca aja ku ruhande, aguma ahagaze.

31 Maze ehe wa Mukushi+ arinjira, hanyuma atangura kuvuga ati: “Umukama wanje umwami niyakire inkuru, kuko Yehova yaguciriye urubanza uno musi kugira ngo agukure mu kuboko kw’abaguhagurukira bose+.” 32 Mugabo umwami abwira nya Mukushi ati: “Wa musore Abusalomu ivyiwe vyoba vyifashe neza?” Nya Mukushi aca avuga ati: “Abansi b’umukama wanje umwami n’abaguhagurukiye kugira ngo bagukorere ikibi, barakaba nk’uwo musore+.”

33 Umwami aca abura amahoro maze aduga mu cumba co hejuru+, hejuru y’irembo, hanyuma ararira; ibi ni vyo yagenda aravuga: “Mwananje Abusalomu, mwananje, mwananje+ Abusalomu! Ese iyo aba ari jewe mpfa mu kibanza cawe, Abusalomu mwananje, mwananje+!”

19 Mu nyuma Yowabu amenyeshwa ngo: “Ehe, umwami ariko ararira, agandariye Abusalomu+.” 2 Gutyo ubukiriro kuri uwo musi buba akaryo ko kugandara ku bantu bose, kuko uwo musi abantu bumvise bivugwa ngo: “Umwami yababaye kubera umuhungu wiwe.” 3 Nuko kuri uwo musi abantu batangura kugenda bomboka mu kwinjira mu gisagara+, nk’uko abantu bomboka igihe baba bumva bateterewe kubera bahunze mu rugamba. 4 Maze umwami ubwiwe apfuka mu maso hiwe, abandanya gusemerera n’ijwi rirenga ati: “Mwananje Abusalomu, Abusalomu mwananje, mwananje+!”

5 Amaherezo Yowabu yinjira aho umwami ari mu nzu, avuga ati: “Uno musi uratetereje mu maso h’abasuku bawe bose, ari bo bakijije ubuzima bwawe uno musi+ n’ubuzima bw’abahungu bawe+ n’abakobwa bawe+, n’ubuzima bw’abagore bawe+, n’ubuzima bw’incoreke zawe+, 6 mu gukunda abakwanka, ukanka abagukunda; kuko uyu musi wamenyesheje yuko abakuru n’abasuku ari ubusa kuri wewe, kubera ko uyu musi nzi neza yuko iyo Abusalomu aba akiriho, natwe abasigaye twese tukaba uyu musi twapfuye, emwe, ico gihe vyari kuba vyiza mu maso yawe. 7 Ubu rero nuhaguruke, usohoke maze uhumurize+ abasuku bawe udaca ku ruhande, kuko ndahiye Yehova yuko nutasohoka, ata mugabo n’umwe aza kurarana nawe muri iri ijoro+; kandi ata gukeka ivyo birakubera bibi kuruta ububi bwose bwagushikiye kuva mu buto bwawe gushika ubu.” 8 Umwami arahaguruka rero araheza yicara mw’irembo+, maze abantu bose bamenyeshwa ngo: “Erega umwami yicaye mw’irembo.” Nuko abantu bose batangura kuza imbere y’umwami.

Nayo Isirayeli, yari yahunze, umwe wese aja i muhira iwe+. 9 Nuko mu miryango yose ya Isirayeli, abantu bose baja mu vyo guharira bavuga ngo: “Umwami ni we yaturokoye mu kiganza c’abansi bacu+, kandi ni we yadukijije ikiganza c’Abafilisitiya; none ubu yahunze Abusalomu, ava mu gihugu+. 10 Nayo Abusalomu, uwo twarobanuje amavuta ngo atuganze+, yapfiriye mu rugamba+. Kubera iki none ubu ata na kimwe muriko murakora kugira ngo mugarukane umwami+?”

11 Nayo Umwami Dawidi, atuma kuri Zadoki+ na Abiyatari+ abaherezi, ati: “Mubwire abagabo b’inararibonye ba Yuda+ muti: ‘Kubera iki mwoba aba nyuma mu kugarukana umwami ku nzu yiwe, kandi ijambo rya Isirayeli yose ryashikiriye umwami aho aba? 12 Mwebwe muri bene wacu; muri igufa ryanje n’umubiri wanje+. Kubera iki none mwoba aba nyuma mu kugarukana umwami?’ 13 Amasa na we mumubwire+ muti: ‘Mbega nturi igufa ryanje n’umubiri wanje? Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, nutaba umukuru w’ingabo imbere yanje nantaryo mu kibanza ca Yowabu+.’”

14 Nuko agonda imitima y’abagabo ba Yuda bose nk’umuntu umwe+, ku buryo batuma ku mwami ngo: “Garuka, wewe n’abasuku bawe bose.”

15 Umwami atangura gusubirayo, aragenda gushika kuri Yorodani. Nayo Yuda, iza i Gilugali+ kugira ije gusanganira umwami, ngo imujabukane Yorodani. 16 Maze Shimeyi+ mwene Gera+ Umubenyamini, uwava i Bahurimu+, yihutira kumanukana n’abagabo ba Yuda gusanganira Umwami Dawidi. 17 Kandi yari kumwe n’abagabo igihumbi ba Benyamini. (Na Ziba+ umusuku w’inzu ya Sauli, ari kumwe n’abahungu biwe cumi na batanu+ n’abasuku biwe mirongo ibiri; nuko bashika kuri Yorodani imbere y’umwami. 18 Maze ajabuka icambu+ kugira ngo ajabukane urugo rw’umwami no kugira ngo akore ivyari vyiza mu maso yiwe.) Nayo Shimeyi mwene Gera, yikubita hasi imbere y’umwami igihe uno yagira ajabuke Yorodani+. 19 Maze abwira umwami ati: “Umukama wanje ntamparureko ikosa, kandi ntiwibuke ikibi umusuku wawe yakoze+ ku musi umukama wanje umwami yasohoka Yeruzalemu, ku buryo umwami yobishirako umutima+. 20 Kuko jewe umusuku wawe nzi neza yuko ari jewe nacumuye; none ehe uyu musi ni jewe nje ubwa mbere mu nzu ya Yozefu+ yose, ngo manuke gusanganira umukama wanje umwami.”

21 Abishayi+ mwene Zeruwiya+ aca arishura, avuga ati: “Ku bw’ivyo, Shimeyi none ntakwiye kwicwa kubera yahamagariye akabi ku wo Yehova yarobanuje amavuta+?” 22 Mugabo Dawidi avuga ati: “Mpuriye ku ki namwe+, ga yemwe bene Zeruwiya, kugira ngo uno musi mube abandwanya+? Hari uwokwicwa uno musi muri Isirayeli+? Mbega sinzi neza uno musi ko ndi umwami aganza Isirayeli?” 23 Maze umwami abwira Shimeyi ati: “Ntupfa.” Hanyuma umwami aramurahira+.

24 Nayo Mefibosheti+ umwuzukuru wa Sauli, amanuka gusanganira umwami; kandi ntiyari yaragiriye isuku ibirenge vyiwe+ canke ngo agirire isuku ubwanwa bwiwe bwo haruguru+, canke ngo amese impuzu ziwe, kuva umusi umwami yagenda gushika umusi yagaruka amahoro. 25 Ashitse i Yeruzalemu gusanganira umwami, umwami aca amubwira ati: “Kubera iki utajanye nanje ga Mefibosheti?” 26 Na we avuga ati: “Mukama wanje umwami, umusuku wanje+ ni we yampenze. Kuko umusuku wawe yari yavuze ati: ‘Reka nishirire itandiko ku ndogobwa, kugira ndayigendereko, njane n’umwami,’ kuko umusuku wawe ari ikimuga+. 27 Yarabesheye+ rero umusuku wawe ku mukama wanje umwami. Mugabo umukama wanje umwami ameze nk’umumarayika+ w’Imana y’ukuri; nukore rero ico ubona ko ari ciza mu maso yawe. 28 Kuko urugo rwa dawe rwose ata kindi rwocitse atari urugenewe gupfa imbere y’umukama wanje umwami, yamara washize umusuku wawe mu barira ku meza yawe+. Hari ikindi none novuga ko mfitiye uburenganzira ngo nongere gutakambira+ umwami?”

29 Ariko umwami amubwira ati: “Kubera iki ukibandanya kuvuga amajambo yawe? Mvuze nti: ‘Wewe na Ziba muzosangira amatongo+.’” 30 Mefibosheti aca abwira umwami ati: “Nashake atware yose+, kizima umukama wanje umwami yagarutse ku nzu yiwe amahoro.”

31 Na Baruzilayi+ Umugileyadi aramanuka avuye i Rogelimu kugira ajane n’umwami kuri Yorodani, ngo amuherekeze gushika kuri Yorodani. 32 Baruzilayi yari ashaje cane, akaba yari afise imyaka mirongo umunani+; kandi ni we yari yararonkeje umwami ibifungurwa igihe yaba i Mahanayimu+, kuko yari umugabo ahambaye cane+. 33 Umwami abwira rero Baruzilayi ati: “Wewe nujabukane nanje, nanje sinzobura kukuronsa ibifungurwa uri kumwe nanje i Yeruzalemu+.” 34 Mugabo Baruzilayi abwira umwami ati: “Mbega imisi y’imyaka y’ubuzima bwanje imeze nk’iki, aho nodugana n’umwami i Yeruzalemu? 35 Uyu musi mfise imyaka mirongo umunani+. Mbega noshobora kumenya gutandukanya iciza n’ikibi, canke jewe umusuku wawe noshobora kwumva uburyohe bw’ivyo norya n’ivyo nonywa+, canke noba ngishobora kwumviriza+ ijwi ry’abaririmvyi n’abaririmvyikazi+? Kubera iki none jewe umusuku wawe nosubira kubera umuzigo+ umukama wanje umwami? 36 Ko urugendo rutoyi ari rwo gusa umusuku wawe yashoboye guherekeza umwami gushika kuri Yorodani, kubera iki none umwami yonyishura iyo mpembo+? 37 Ndakwinginze ureke jewe umusuku wawe nsubire inyuma, mpfire+ mu gisagara canje, hafi y’aho dawe na mawe bahambwe+. Mugabo ng’uyu umusuku wawe Kimuhamu+. Najabukane n’umukama wanje umwami; uze umugirire ico ubona ko ari ciza.”

38 Nuko umwami avuga ati: “Kimuhamu arajabukana nanje, nanje ubwanje nzomugirira ico mbona ko ari ciza; kandi ivyo uhitamwo kuntegeka vyose, nzobigukorera.” 39 Abantu bose batangura rero kujabuka Yorodani, n’umwami ubwiwe arajabuka; mugabo umwami asoma+ Baruzilayi yongera aramuhezagira+, hanyuma uno asubira ahantu hiwe. 40 Igihe umwami yajabuka yerekeza i Gilugali+, Kimuhamu yajabukanye na we, be n’abantu bo muri Yuda bose, be n’ica kabiri c’abantu ba Isirayeli, kugira ngo bajabukane umwami.

41 Nuko abagabo ba Isirayeli bose baza ku mwami, maze babwira umwami bati: “Kubera iki+ bene wacu, abagabo ba Yuda, bakwivye kugira ngo umwami bamujabutse Yorodani ari kumwe n’urugo rwiwe n’ingabo za Dawidi zose+?” 42 Abagabo ba Yuda bose baca bishura abagabo ba Isirayeli bati: “Ni kubera yuko umwami ari incuti yacu ya hafi+; kubera iki none ico kintu cabashavuje? Hari aho twigeze turya ivy’umwami ngo tumuhomvye, canke hari ingabirano twazaniwe?”

43 Ariko abagabo ba Isirayeli bishura abagabo ba Yuda bati: “Dufise imigabane cumi mu mwami+, ku buryo mbere no muri Dawidi tukuruta. Kubera iki none wadukengereye, kandi kubera iki ikibazo cacu co kugarukana umwami wacu kitabaye ica mbere+?” Mugabo ijambo ry’abagabo ba Yuda riba irikomeye kuruta ijambo ry’abagabo ba Isirayeli.

20 Kandi ng’aho hari umugabo w’imburakimazi+ yitwa Sheba+, mwene Bikiri Umubenyamini; atangura kuvuza inzamba+ maze avuga ati: “Nta muturi dufise muri Dawidi, kandi nta ntoranwa dufise muri mwene Yese+. Umwe wese ku mana ziwe+, ewe Isirayeli!” 2 Abagabo ba Isirayeli bose baca batangura kuduga, bareka gukurikira Dawidi kugira bakurikire Sheba mwene Bikiri+; mugabo abagabo ba Yuda bo bamata ku mwami wabo, kuva kuri Yorodani gushika i Yeruzalemu+.

3 Amaherezo Dawidi aza ku nzu yiwe i Yeruzalemu+. Maze umwami afata ba bagore cumi+, za ncoreke yari yarasize kugira zitwararike inzu, abashira mu nzu yo gucungirwamwo, mugabo aguma abaronsa ibifungurwa. Nuko ntiyaryamana na bo+, mugabo baguma bugaranywe rwose gushika ku musi w’ugupfa kwabo, ari abapfakazi bafise umugabo muzima.

4 Nuko umwami abwira Amasa+ ati: “Nkoraniriza abagabo ba Yuda ng’aha mu misi itatu, nawe ubwawe uhagarare hano.” 5 Amasa agenda rero gukoranya Yuda, mugabo arenza igihe umwami yari yamushingiye. 6 Maze Dawidi abwira Abishayi+ ati: “Ubu Sheba+ mwene Bikiri azotubera mubi kurusha Abusalomu+. Wewe ubwawe nutore abasuku+ b’umukama wawe uheze umwome inyuma, kugira ntiyironkere koko ibisagara bikingijwe ibihome, ngo ahunge tubona.” 7 Nuko abagabo ba Yowabu+ n’Abakereti+ n’Abapeleti+ n’abagabo b’abanyenkomezi bose basohoka inyuma yiwe; basohoka Yeruzalemu kugira ngo bome inyuma Sheba mwene Bikiri. 8 Bari hafi y’ibuye rinini riri i Gibeyoni+, Amasa+ aza kubasanganira. Ico gihe Yowabu yari akenyeye, yambaye impuzu; kandi yari akenyeye inkota iboheye mu mafyinga, iri mu rwubati rwayo. Nuko yegera imbere, maze irasokoka irakoroka.

9 Yowabu abwira Amasa ati: “Ni impore ga mwene wacu+?” Maze ukuboko kw’iburyo kwa Yowabu gufata ubwanwa bwa Amasa kugira ngo amusome+. 10 Nayo Amasa, ntiyari yiyubaye ku bijanye n’inkota yari mu kuboko kwa Yowabu; nuko ayimuzibura+ mu nda, amara yiwe aseseka hasi, ntiyarinda kumugereka. Gutyo arapfa. Yowabu na Abishayi mwene wabo boma inyuma Sheba mwene Bikiri.

11 Maze umwe mu misore ya Yowabu ahagarara hejuru ya Amasa, aguma avuga ati: “Uwo wese yahimbawe na Yowabu n’uwo wese yegukira Dawidi+, nakurikire Yowabu!” 12 Muri ico gihe, Amasa yariko akumbagara mu maraso+ hagati na hagati mu nzira y’ikirari. Nya mugabo abonye abantu bose baza barahagarara, aca akura Amasa muri nya nzira y’ikirari amujana mu murima. Amaherezo aterera impuzu kuri we, kuko yabona ko umuntu wese yamushikako yaca ahagarara+. 13 Akimara kumukura muri nya nzira y’ikirari, umwe wese ararengana akurikiye Yowabu kugira yome inyuma Sheba+ mwene Bikiri.

14 Nuko Sheba anyurangana mu miryango ya Isirayeli yose gushika i Abeli h’i Beti-mayaka+. Nayo Ababikiri bose, baca bakoranira hamwe, na bo nyene barinjira baramukurikira.

15 Nuko baza kumusugereza i Abeli h’i Beti-mayaka maze bubakira ico gisagara igikuta co kugisugereza+, kuko ico gisagara cari cubatswe imbere mu gikuta. Kandi abantu bose bari kumwe na Yowabu bariko bimba uruhome, kugira ngo barusenyurire hasi. 16 Nuko umugore umwe w’inkerebutsi+ atangura guhamagara ari mu gisagara ati: “Nimwumvirize, nimwumvirize! Ndabinginze mubwire Yowabu muti: ‘Egera gushika hano, mpeze mvugane nawe.’” 17 Aramwegera rero, maze nya mugore avuga ati: “Uri Yowabu?” Na we ati: “Ndi we.” Nya mugore aca amubwira ati: “Niwumvirize amajambo y’umushumbakazi wawe+.” Na we ati: “Ndiko ndumviriza.” 18 Nya mugore abandanya kuvuga ati: “Kera hose bakunda kuvuga bati: ‘Nibabaze gusa muri Abeli, ikibazo baca bakirangiza.’ 19 Jewe nserukira abantu b’abanyamahoro+ kandi b’abizigirwa+ ba Isirayeli. Uriko urondera kwica igisagara+ na inabibondo muri Isirayeli. Kubera iki womira+ intoranwa+ ya Yehova?” 20 Yowabu aca arishura, avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa na gato kuri jewe ko nomira be n’uko nohonya. 21 Si ukwo biri, ahubwo umugabo wo mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ yitwa Sheba+, mwene Bikiri, yabanguriye ukuboko Umwami Dawidi+. Nimumutange wenyene+, nanje ndasubira inyuma mve kuri iki gisagara+.” Maze nya mugore abwira Yowabu ati: “Ehe umutwe wiwe+ barawukujugunyira bawucishije hejuru y’uruhome!”

22 Nya mugore, mu bukerebutsi bwiwe+, aca aja ku bantu bose, maze baca umutwe wa Sheba mwene Bikiri baraheza bawujugunyira Yowabu. Uno aca avuza inzamba+, gutyo barasanzara bavuye kuri nya gisagara, umwe wese aja i muhira iwe; Yowabu na we asubira i Yeruzalemu ku mwami.

23 Yowabu yagaba ingabo+ za Isirayeli zose; Benaya+ mwene Yehoyada+ akagaba Abakereti+ n’Abapeleti+. 24 Adoramu+ yagaba abagenewe ibikorwa vy’agahato; Yehoshafati+ mwene Ahiludi akaba umukarani. 25 Sheva+ yari umunyamabanga+, Zadoki+ na Abiyatari+ na bo bakaba abaherezi. 26 Ira Umuyayiri na we nyene aba umuherezi*+ wa Dawidi.

21 Nuko haba ikigoyi+ mu misi ya Dawidi mu kiringo c’imyaka itatu ikurikirana; Dawidi atangura rero gusiguza Yehova. Maze Yehova avuga ati: “Kuri Sauli no ku nzu yiwe hari amaraso, kuko yishe Abanyagibeyoni+.” 2 Umwami rero aca ahamagara Abanyagibeyoni+ hanyuma avugana na bo. (Kandi Abanyagibeyoni ntibari abo muri bene Isirayeli, ahubwo bari abo mu masigarira y’Abamori+; bene Isirayeli ubwabo bari barabarahiye+, mugabo Sauli arondera kubagarika+ kubera yari afitiye ishari+ bene Isirayeli na Yuda.) 3 Maze Dawidi abwira Abanyagibeyoni ati: “Ndabakorere iki, kandi ntange impongano* ki+, kugira muhezagire koko intoranwa+ ya Yehova?” 4 Nuko Abanyagibeyoni bamubwira bati: “Kuri twebwe ikibazo si ic’ifeza canke izahabu+ ku bijanye na Sauli n’urugo rwiwe, eka kandi si ivyacu kwica umuntu muri Isirayeli.” Aca avuga ati: “Ico muvuga cose ndakibakorera.” 5 Baca babwira umwami bati: “Umugabo yadutikije+ akongera agategura umugambi+ wo kutuzimanganya ngo ntitubeho na hamwe mu karere ka Isirayeli, 6 niduhabwe abagabo indwi bo mu bahungu biwe+; natwe tubashire ahabona+ imbere ya Yehova i Gibeya+ ha Sauli, uwo Yehova yatoye+.” Nuko umwami avuga ati: “Jewe ubwanje ndabatanga.”

7 Ariko umwami agirira impuhwe Mefibosheti+ mwene Yonatani, Yonatani wa Sauli, kubera indahiro+ ya Yehova yari hagati yabo, hagati ya Dawidi na Yonatani mwene Sauli. 8 Umwami afata rero abahungu babiri ba Rizipa+ umukobwa wa Aya, abo yavyariye Sauli, Arumoni na Mefibosheti, n’abahungu batanu ba Mikali+ umukobwa wa Sauli, abo yavyariye Adiriyeli+ mwene Baruzilayi Umumehola. 9 Maze abatanga mu kuboko kw’Abanyagibeyoni na bo babashira ahabona ku musozi imbere ya Yehova+, ku buryo abo uko ari indwi bagwa hamwe; bicwa mu misi ya mbere y’iyimbura, mu ntango y’iyimbura rya sayiri+. 10 Ariko Rizipa umukobwa wa Aya+ atora amagunira+ ayisasira ku gitandara, kuva iyimbura ritanguye gushika amazi aguye kuri bo avuye mw’ijuru+; ntiyakundira ibiguruka+ vyo mu kirere ko bigwa kuri bo ku murango canke ibikoko vyo mu gahinga+ mw’ijoro.

11 Amaherezo Dawidi amenyeshwa+ ivyo Rizipa umukobwa wa Aya, incoreke ya Sauli, yari yakoze. 12 Nuko Dawidi aja gutora amagufa ya Sauli+ n’amagufa ya Yonatani umuhungu wiwe kuri bene amatongo b’i Yabeshi-gileyadi+, abari barivye ibiziga vyabo mu kibanza ca bose c’i Beti-shani+, aho Abafilisitiya bari barabamanitse+, ku musi Abafilisitiya bica Sauli i Gilibowa+. 13 Nuko adugana amagufa ya Sauli n’amagufa ya Yonatani umuhungu wiwe ayakuye ng’aho; vyongeye, bakoranya amagufa ya ba bagabo bari barashizwe ahabona+. 14 Maze bahamba nya magufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe mu gihugu ca Benyamini i Zela+, mw’itongo ryo guhambamwo rya Kishi+ se wiwe, kugira ngo bakore ikintu cose umwami yari yategetse. Inyuma y’ivyo, Imana yemera rero kwingingwa ku bw’ico gihugu+.

15 Abafilisitiya+ bongera kurwana intambara na Isirayeli. Nuko Dawidi ari kumwe n’abasuku biwe bamanuka kurwanya Abafilisitiya; maze Dawidi araruha. 16 Ishibi-benobu, uwari uwo mu bavutse ku Barefayimu+, uburemere bw’icumu ryiwe+ bukaba bwari shekeli amajana atatu y’umujumpu kandi akaba yari akenyeye inkota nshasha, yiyumvira ivyo kugarika Dawidi. 17 Abishayi+ mwene Zeruwiya aca aza kumutabara+ maze agarika nya Mufilisitiya, aramwica. Ico gihe, ingabo za Dawidi ziramurahira ziti: “Ntukongere gusohokana natwe mu rugamba+, kugira ngo ntuzimye+ itara+ rya Isirayeli!”

18 Inyuma y’ivyo hongera kwaduka intambara yo kurwana n’Abafilisitiya i Gobu. Ni ho Sibekayi+ Umuhusha+ yagarika Safu, akaba yari uwo mu bavutse ku Barefayimu+.

19 Hongera kwaduka intambara yo kurwana n’Abafilisitiya i Gobu, maze Elihanani+ mwene Yayare-oregimu Umunyabetelehemu agarika Goliyati Umugiti, uruti rw’icumu ryiwe rukaba rwari rumeze nk’igiti kizingirwako inyuzi c’abajishi b’impuzu+.

20 Hongera kandi kwaduka intambara i Gati+, mu gihe hari umugabo w’igihagararo c’akataraboneka yari afise intoke zitandatu kuri kimwe cose mu biganza vyiwe, n’amano atandatu kuri kimwe cose mu birenge vyiwe, vyose bikaba vyari mirongo ibiri na bine; na we nyene yari yavutse ku Barefayimu+. 21 Nuko aguma acokora+ Isirayeli. Amaherezo Yonatani+ umuhungu wa Shimeyi+, mwene wabo na Dawidi, aramugarika.

22 Abo bane bari bavutse ku Barefayimu i Gati+; nuko bagwa biciye ku kuboko kwa Dawidi no ku kuboko kw’abasuku biwe+.

22 Nuko Dawidi atangura kubwira Yehova amajambo y’uru ruririmbo+, ku musi Yehova yamurokora akamukura mu kiganza c’abansi+ biwe bose no mu kiganza ca Sauli+; 2 avuga rero ati:

“Yehova ni we rutare+ rwanje, igihome canje gikomeye+ akaba na we ankiza+.

 3 Imana yanje ni yo gitandara+ canje. Nzohungira muri yo,

Ni yo nkinzo+ yanje n’ihembe+ ryanje ry’ubukiriro, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+,

Ahantu hanje ho guhungira+, Umukiza+ wanje; urankiza ukankura mu bukazi+.

 4 Umwe akwiye gushemezwa+, ari we Yehova, ni we nzokwambaza,

Kandi nzokizwa abansi banje+.

 5 Kuko imipfunda isuriranya yica yari inzitiye irya n’ino+;

Hari amasegenya akukumura y’abantu b’imburakimazi yaguma antera ubwoba+.

 6 Imigozi y’ukuzimu* yari inkikuje+;

Imitego y’urupfu yari impanze+.

 7 Mu marushwa yanje, naguma nambaza Yehova+,

Kandi Imana yanje naguma ndayihamagara+.

Maze yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,

Ugutabaza kwanje gushika mu matwi yayo+.

 8 Maze isi itangura kuzungazunga no gutigita+;

Imishinge y’amajuru iranyiganga+,

Iguma izungazunga kuko Imana yari yatewe ishavu+.

 9 Umwotsi warapfundutse mu mazuru yayo, umuriro uvuye mu kanwa kayo na wo uguma uyigiza+;

Amakara yararurumba, akarabagiza ava kuri yo+.

10 Nuko itangura guheta amajuru, iramanuka+;

Umuzimagiza w’umuzitanya wari munsi y’ibirenge vyayo+.

11 Hanyuma iza igendera ku mukerubi+, iza iguruka;

Kandi yaraboneka ku mababa y’ikiremwa c’impwemu*+.

12 Maze ishira umwiza irya n’ino yayo ngo uyibere insago+,

Umwiza w’amazi yijimye, ibicu bizitanye+.

13 Amakara yaka umuriro yarurumba bivuye ku kwakaka kw’imbere yayo+.

14 Yehova atangura guturagarira mw’ijuru+,

Musumbavyose ubwiwe atangura kurekura ijwi ryiwe+.

15 Kandi yaguma arungika imyampi, kugira abashwiragize+;

N’umuravyo, kugira abate mu muvurungano+.

16 Inzira z’imigezi y’ikiyaga na zo zitangura kuboneka+,

Imishinge y’ubutaka bwimbuka+ na yo irapfukurwa,

Bitumwe n’uguhambara kwa Yehova, bivuye ku guhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yiwe+.

17 Yatuma ari iyo hejuru, akantwara+,

Akankura mu mazi menshi+.

18 Yarandokora akankiza umwansi wanje akomeye+,

Akankiza abanyanka, kuko bari bakomeye kundusha+.

19 Baguma bampanze ku musi w’icago canje+,

Mugabo Yehova yambereye icishimikizo+.

20 Nuko aransohora anjana ahantu hagutse+;

Yarantabara, kuko yari yahimbawe nanje+.

21 Yehova ampemba nk’uko ubugororotsi+ bwanje buri;

Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, ni ko anyishura+.

22 Kuko nagumije inzira za Yehova+,

Kandi sinakoze nabi ngo mvirire Imana yanje+.

23 Kuko ingingo z’ubutungane+ zayo zose ziri imbere yanje;

Nayo ivyagezwe vyayo, sinzobica ku ruhande+.

24 Nzokwerekana ko ntagira amahinyu+ kuri yo,

Kandi nzokwirinda ntihagire ikosa rimbako+.

25 Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi+ bwanje buri,

Nk’uko ukudahumana kwanje kuri, mu maso yiwe+.

26 Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka+;

Ku munyenkomezi atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu+;

27 Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye+,

Ku wuhetaraye na we uzokora nk’aho woba uri igipfu+.

28 Abantu baciye bugufi uzobakiza+;

Mugabo amaso yawe arwanya abibona, kugira ngo ubacishe bugufi+.

29 Kuko uri itara ryanje, ewe Yehova+,

Kandi Yehova ni we atuma umwiza wanje ukayangana+.

30 Kuko ku bwawe nshobora gukinagiza akagwi k’abambuzi+;

Ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome+.

31 Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge+;

Ijambo rya Yehova ni irityoroye+.

Abera inkinzo abahungira muri we bose+.

32 Kuko, ni nde ari Imana atari Yehova+?

Kandi ni nde ari igitandara atari Imana yacu+?

33 Imana y’ukuri ni iboma ryanje rikomeye+,

Kandi izotuma inzira yanje iba iyitagira akanenge+,

34 Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi+;

Kandi ahantu hakirurutse kuri jewe ni ho iguma impagaritse+.

35 Yigisha ibiganza vyanje intambara+;

Kandi amaboko yanje yagonze umuheto w’umujumpu+.

36 Uzompa inkinzo yawe y’ubukiriro+,

Kandi ukwicisha bugufi kwawe ni kwo kungira uwuhambaye+.

37 Uzotegura ikibanza cagutse bihagije ku bw’intambuko zanje munsi yanje+;

Kandi amaso y’ibirenge vyanje ntazogenda anyoganyoze+.

38 Nzokurikirana abansi banje, kugira ngo ndabazimanganye,

Kandi sinzohindukira badatikiye+.

39 Nzobatikiza, ndabavunagure+, kugira ntibahaguruke+;

Kandi bazogwa munsi y’ibirenge vyanje+.

40 Uzonkenyeza inkomezi ku bw’urugamba+;

Uzotuma abankurira hasi binimba hasi munsi yanje+.

41 Nayo abansi banje, ntuzobura kumpa igikanu cabo+;

Abanyanka urunuka, na bo nyene nzobanumya+.

42 Baratabaza, mugabo nta mukiza ariho+;

Bagatabaza Yehova, mugabo ntagende abishuye+.

43 Kandi nzobahonda banoge nk’umukungugu wo kw’isi;

Nzobasya nk’urwondo rwo mu mabarabara+;

Nzobafyatarika.

44 Uzonkiza ugutorana amahinyu kw’abantu banje+.

Uzonzigama kugira ngo mbe umukuru* w’amahanga+;

Abantu ntamenye, abo ni bo bazonkorera+.

45 Abanyamahanga ubwabo bazoza kuri jewe bahinda agashitsi+;

Amatwi azogamburuka kugira ngo anyumve+.

46 Abanyamahanga ubwabo bazoyāma,

Kandi bazova mu bibambazi vyabo bajugumira+.

47 Yehova ni muzima+; kandi Igitandara canje nigihezagirwe+;

Imana y’igitandara c’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+.

48 Imana y’ukuri ni yo impora+,

Ni yo ishira ibisata vy’abantu munsi yanje+,

49 Ikaba ari na yo inkura mu bansi banje+.

Uzonduza unshire hejuru y’abankurira hasi+;

Uzondokora unkize umuntu w’ibikorwa vy’ubukazi+.

50 Ni co gituma nzogukengurukira mu mahanga+, ewe Yehova;

Kandi nzohibongoreza izina ryawe+:

51 Uwukorera umwami wiwe ibikorwa bikomeye vy’ubukiriro+,

Akagirira ubuntu bwuzuye urukundo uwo yarobanuje amavuta+,

Akabugirira Dawidi n’uruvyaro rwiwe gushika igihe kitagira urugero+.”

23 Aya ni yo majambo ya nyuma ya Dawidi+:

“Ijambo rya Dawidi mwene Yese+,

Ijambo ry’umuntu w’umugabo yashizwe hejuru+,

Uwo Imana ya Yakobo yarobanuje amavuta+,

Akaba n’uwuhimbaye w’uduhibongozo+ twa Isirayeli.

 2 Impwemu ya Yehova ni yo yavuze biciye kuri jewe+,

Kandi ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje+.

 3 Imana ya Isirayeli yaravuze,

Igitandara ca Isirayeli carambwiye+ giti:

‘Igihe uwuganza abantu agororotse+,

Akaganza mu gutinya Imana+,

 4 Bimera rero nk’umuco w’igitondo, igihe izuba rirashe+,

Igitondo kitagira ibicu.

Bivuye ku kwakaka, bivuye ku mvura, ivyatsi birasokoroka bikava mw’isi+.’

 5 None urugo rwanje ntirumeze gutyo ku Mana+?

Kuko yangeneye isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero,

Ryashizwe neza mu rutonde mu kintu cose kandi rikaba ari iryo kwizigirwa+.

Ko ari ryo bukiriro+ bwanje bwose n’agahimbare kanje kose,

Si co gituma none azorikuza+?

 6 Mugabo abantu b’imburakimazi+ barigizwayo+ bose, nk’ibisaka vy’amahwa+;

Kuko batabitoza amaboko.

 7 Igihe umuntu abikorako

Akwiye kuba afise ibirwanisho bikwiye vy’icuma be n’uruti rw’icumu,

Kandi bizoturizwa umuriro bitokombere+.”

8 Aya ni yo mazina y’abagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi: Yoshebu-bashebeti+ Umutahakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana umunani biciwe icarimwe. 9 Inyuma yiwe, Eleyazari+ mwene Dodo+, Dodo wa Ahohi, yari muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu bari kumwe na Dawidi igihe bacokora Abafilisitiya. Bari bakoraniye ng’aho ku bw’urugamba, ku buryo abagabo ba Isirayeli basubira inyuma+. 10 Ni we yahagurutse, akaguma asasika Abafilisitiya gushika aho ukuboko kwiwe kuruha yamara kukaguma kwumiye ku nkota+, ku buryo Yehova ashitsa ubukiriro bukomeye uwo musi+; nayo abantu, bagaruka inyuma yiwe kugira gusa bambure abagaritswe+.

11 Inyuma yiwe haza Shama mwene Ageye Umuharari+. Nuko Abafilisitiya batangura gukoranira i Lehi, aho hantu ico gihe hakaba hari igice c’itongo cuzuye inkore+; maze abantu barahunga kubera Abafilisitiya. 12 Mugabo we ahagarara hagati muri nya gice c’itongo, arakirokora maze aguma asasika Abafilisitiya, ku buryo Yehova ashitsa ubukiriro bukomeye+.

13 Maze batatu muri ba bakuru mirongo itatu+ baramanuka, baza kuri Dawidi mu gihe c’iyimbura, kw’isenga ry’i Adulamu+; kandi ikigwati c’amahema c’Abafilisitiya cari gikambitse mu kiyaya co hasi c’Abarefayimu+. 14 Ico gihe Dawidi yari mu kibanza kigoye gushikamwo+; kandi ico gihe ikirindiro+ c’Abafilisitiya cari i Betelehemu. 15 Haciye igihe, Dawidi aserura icipfuzo gikomeye afise, avuga ati: “Icompa nkanywa ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo+!” 16 Ba bagabo b’abanyenkomezi batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya, bavoma amazi muri iryo tangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo maze barayatwara, bayazanira Dawidi+; ntiyemera kuyanywa, mugabo ayasuka+ imbere ya Yehova. 17 Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe+, ewe Yehova, yuko nokora ico kintu! Mbega nywe amaraso+ y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Ntiyemera kuyanywa.

Ivyo ni vyo abo bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze.

18 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu mwene Zeruwiya+, yari umukuru wa bamwe mirongo itatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu+. 19 Naho yavugangwa kurusha bamwe mirongo itatu bandi kandi akaba umukuru wabo, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere+.

20 Nayo Benaya+ mwene Yehoyada+ umuhungu w’umugabo w’intwari, uwakoze ibikorwa vyinshi i Kabuzeyeli+, agarika ba bahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu; ni we yamanutse kugarika intambwe+ mu cobo c’amazi ku musi urubura rwariko ruragwa+. 21 Kandi ni we yagaritse umugabo w’Umunyamisiri w’igihagararo c’akataraboneka+. Naho mu kuboko kw’uwo Munyamisiri hari icumu, yaramanutse aho ari yitwaje inkoni maze ashikura nya cumu mu kuboko kw’uwo Munyamisiri, araheza amwicisha iryo cumu ryiwe bwite+. 22 Ivyo ni vyo Benaya+ mwene Yehoyada yakoze; yari afise izina rya rurangiranwa nka ba bagabo b’abanyenkomezi batatu+. 23 Naho yari rurangiranwa kuruta mbere bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu; mugabo Dawidi amugena kuba mu bamucungerera ubuzima+.

24 Asaheli+ mwene wabo na Yowabu yari muri bamwe mirongo itatu; Elihanani+ mwene Dodo w’i Betelehemu, 25 Shama+ Umuharodi, Elika Umuharodi, 26 Helezi+ Umupaliti+, Ira mwene Ikeshi+ Umunyatekowa, 27 Abi-ezeri+ Umunyanatoti+, Mebunayi Umuhusha+, 28 Zalumoni Umwahohi+, Maharayi+ Umunyanetofa, 29 Helebu+ mwene Bayana Umunyanetofa, Itayi+ mwene Ribayi w’i Gibeya ha bene Benyamini, 30 Benaya+ Umunyapiratoni, Hidayi wo mu myonga y’i Gayashi+, 31 Abi-aluboni Umunyarabati, Azimaveti+ Umunyabari-humi, 32 Eliyahuba Umunyashayaluboni, bene Yasheni, Yonatani+, 33 Shama Umuharari, Ahiyamu+ mwene Sharari Umuharari, 34 Elifeleti mwene Ahasubayi umuhungu w’Umumayakati, Eliyamu mwene Ahitofeli+ Umugilo, 35 Heziro+ Umunyakarumeli, Payarayi Umunyarubi, 36 Igali mwene Natani+ w’i Zoba, Bani Umugadi, 37 Zeleki+ Umwamoni, Naharayi Umunyabeyeroti, abatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 38 Ira Umwituri+, Garebu+ Umwituri, 39 Uriya+ Umuheti​—⁠bose bakaba bari mirongo itatu n’indwi.

24 Ishavu rya Yehova ryongera+ kururumbira Isirayeli, igihe hagira uwusunika Dawidi kubagirira nabi, mu kuvuga ati: “Genda uharure+ Isirayeli na Yuda.” 2 Nuko umwami abwira Yowabu+ umukuru w’inteko za gisirikare yari kumwe na we ati: “Ndakwinginze ugendagende mu miryango ya Isirayeli yose, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, mwandike abantu+, nanje menye koko igitigiri c’abantu+.” 3 Mugabo Yowabu abwira umwami ati: “Yehova Imana yawe yongere ku bantu abangana na bo incuro ijana, mu gihe amaso y’umukama wanje umwami avyibonera. Nayo umukama wanje umwami, kubera iki yahimbawe n’ico kintu+?”

4 Amaherezo ijambo ry’umwami rinesha+ Yowabu n’abakuru b’inteko za gisirikare. Yowabu na nya bakuru b’inteko za gisirikare barasohoka rero bavuye imbere y’umwami kugira bandike+ abantu, Isirayeli. 5 Nuko bajabuka Yorodani maze bakambika i Aroweri+ iburyo bw’igisagara kiri hagati na hagati mu mwonga, berekeza ku Bagadi+ n’i Yazeri+. 6 Mu nyuma bashika i Gileyadi+ no mu gihugu ca Tahatimu-hodishi, babandanya i Dani-yani hanyuma barazunguruka berekeza i Sidoni+. 7 Maze bashika kw’iboma ry’i Tiro+ no mu bisagara vyose vy’Abahiwi+ n’ivy’Abanyakanani, hanyuma bagarukira i Beyeri-sheba+, muri Negebu+ ho muri Yuda. 8 Gutyo bagendagenda igihugu cose maze baza i Yeruzalemu haheze amezi icenda n’imisi mirongo ibiri. 9 Nuko Yowabu aha umwami igitigiri c’abantu bari banditswe+; Isirayeli yarimwo abagabo b’intwari ibihumbi amajana umunani barwanisha inkota, abagabo ba Yuda na bo bari abagabo ibihumbi amajana atanu+.

10 Maze umutima wa Dawidi utangura kumukubita+ aho amariye guharūra abantu gutyo. Nuko Dawidi abwira Yehova ati: “Nacumuye+ cane mu vyo nakoze. None rero Yehova, ndakwinginze ureke ikosa ry’umusavyi wawe rirengane+, kuko nakoze ivy’ubupfu rwose+.” 11 Dawidi avyutse mu gitondo, ijambo rya Yehova riza kuri Gadi+ umuhanuzi, umubonyi+ wa Dawidi, riti: 12 “Genda ubwire Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nshize imbere yawe ibintu bitatu+. Niwihitiremwo kimwe muri vyo kugira ngo ndakikugirire+.”’” 13 Gadi yinjira rero kwa Dawidi hanyuma arabimumenyesha, amubwira+ ati: “Mbega haze kuri wewe imyaka indwi y’ikigoyi mu gihugu cawe+, canke amezi atatu uriko urahunga abarwanizi bawe+, bagukurikirana, canke habe imisi itatu y’ikiza mu gihugu cawe+? Niwiyumvire witonze rero ico nishura uwantumye.” 14 Nuko Dawidi abwira Gadi ati: “Birantuntuje cane. Ndakwinginze tugwe mu kuboko kwa Yehova+, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi+; mugabo singwe mu kuboko kw’umuntu+.”

15 Maze Yehova arungika ikiza+ muri Isirayeli, kuva mu gitondo gushika igihe cashinzwe, ku buryo mu bantu, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, hapfa abantu ibihumbi mirongo irindwi+. 16 Umumarayika+ aguma atumye ukuboko kwiwe akwerekeje kuri Yeruzalemu kugira ngo ahahonye; Yehova atangura kwicuza+ kubera ico cago, maze abwira nya mumarayika yariko arahonya mu bantu ati: “Birahagije! Ubu rero numanure ukuboko kwawe.” Uwo mumarayika wa Yehova yari hafi y’imbuga y’ikubitiro ya Arawuna+ Umuyebusi+.

17 Nuko Dawidi abwira Yehova, igihe yabona nya mumarayika yariko aragarika abantu, egome, avuga ati: “Ehe ni jewe nacumuye kandi ni jewe nakoze ikibi; mugabo izi ntama+—⁠zakoze iki? Ndakwinginze ukuboko kwawe kuze kuri jewe+ no ku nzu ya dawe.”

18 Mu nyuma Gadi yinjira aho Dawidi ari kuri uwo musi, amubwira ati: “Duga, ushingire Yehova igicaniro* ku mbuga y’ikubitiro ya Arawuna Umuyebusi+.” 19 Nuko Dawidi atangura kuduga yisunze ijambo rya Gadi, akurikije ivyo Yehova yari yategetse+. 20 Arawuna aravye epfo akabona umwami n’abasuku biwe baza bamugana, aca arasohoka hanyuma yunamira+ umwami, mu maso hiwe hashika hasi+. 21 Maze Arawuna avuga ati: “Ni kubera iki umukama wanje umwami aje ku musuku wiwe?” Dawidi aca avuga ati: “Ni kugira ngo ndakugurire+ imbuga y’ikubitiro ngo nubakire igicaniro Yehova, ikiza+ kibone guhagarara kive ku bantu.” 22 Mugabo Arawuna abwira Dawidi ati: “Umukama wanje umwami nayitware+ aheze ashikane ico abona ko ari ciza. Ehe ng’izo inka z’ishikanwa riturirwa, n’igikubitisho be n’ibikoresho vy’inka vyo kuba inkwi+. 23 Ivyo vyose, ewe mwami, Arawuna arabihaye umwami.” Arawuna abwira umwami kandi ati: “Yehova Imana yawe ahimbarwe nawe+.”

24 Ariko umwami abwira Arawuna ati: “Oya, ahubwo singenda ntayikuguriye ku kiguzi+; kandi sinshikanira Yehova Imana yanje ibimazi biturirwa ata co biguzwe+.” Nuko Dawidi agura+ iyo mbuga y’ikubitiro n’inka, kuri shekeli z’ifeza mirongo itanu. 25 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho, hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, maze Yehova yemera kwingingwa+ ku bw’igihugu, ku buryo nya kiza gihagarikwa kikava kuri Isirayeli.

Bishoboka yuko kwari ukuntu umubiri wiwe wari umeze ku buryo bitamukundira ko yirwanira.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ni udushato two kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ni ibicurarangisho bajegeza.

Ijambo ku rindi ni “aturikiye kuri.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “abakozi bakuru.”

Bisobanura ngo “Umukundwa wa Ya.”

Gishobora kuba cari ikigirwamana c’Abamoni; ahandi citwa Moleki canke Milikomu.

Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.

Canke, “umukozi mukuru.”

Raba Inyongera ya 21.

Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.

Canke, “amababa y’umuyaga.”

Ijambo ku rindi ni “umutwe.”

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika