Igitabu ca Mbere c’Abami
canke, hisunzwe impinduro y’ikigiriki Septante, IGITABU CA GATATU C’ABAMI
1 Umwami Dawidi yari ashaje+, yitereye mu myaka; bari basigaye bamupfuka impuzu, mugabo ntasusuruke. 2 Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Nibaronderere umukama wanje umwami umukobwa, umwigeme w’isugi+, aze akorere+ umwami, kugira ngo abe uwo kumubungabunga+; aze aryame mu gikiriza+ cawe, maze umukama wanje umwami azosusuruka+ koko.” 3 Nuko barondera umukobwa mwiza mu karere kose ka Isirayeli, amaherezo baronka Abishagi+ Umunyashunemukazi+ baraheza bamuzanira umwami. 4 Kandi uwo mukobwa yari mwiza bihebuje+; nuko aba uwo kubungabunga umwami, aguma amukorera, mugabo umwami ntiyarangurana na we amabanga y’abubatse.
5 Muri ico gihe cose Adoniya+ mwene Hagiti+ yariko yiduza+, avuga ati: “Ni jewe ngiye kuganza+!” Nuko yikoreshereza umukogote, yironderera abagendera ku mafarasi n’abagabo mirongo itanu birukanga imbere yiwe+. 6 Se wiwe ntiyari yarigeze amubabaza mu kumubwira ati: “Kubera iki wakoze gutyo+?” Yari afise umutumba umeze neza cane+, kandi nyina yari yamuvyaye inyuma ya Abusalomu. 7 Agirana ibiganiro na Yowabu mwene Zeruwiya be na Abiyatari+ umuherezi, bano batangura gufasha Adoniya+ no kumukurikira. 8 Nayo Zadoki+ umuherezi na Benaya+ mwene Yehoyada na Natani+ umuhanuzi na Shimeyi+ na Reyi n’abagabo b’abanyenkomezi+ ba Dawidi, ntibifatanya+ na Adoniya.
9 Amaherezo, Adoniya agira ikimazi+ c’intama n’inka n’ibitungwa bikiri bito binuze, hafi y’ibuye rya Zoheleti, iriri iruhande ya Eni-rogeli+, araheza atumira bene wabo bose abahungu b’umwami+ n’abagabo ba Yuda bose abasuku b’umwami; 10 mugabo Natani umuhanuzi na Benaya n’abagabo b’abanyenkomezi na Salomo mwene wabo, ntiyabatumira. 11 Nuko Natani+ abwira Bati-sheba+ nyina wa Salomo+ ati: “Mbega ntiwumvise yuko Adoniya mwene Hagiti+ yabaye umwami, kandi umukama wacu Dawidi akaba ata co abiziko namba? 12 Ubu rero, ndakwinginze uze ndaguhanure nshimitse+. Kandi unyage amagara yawe n’ay’umuhungu wawe Salomo+. 13 Genda winjire aho Umwami Dawidi ari, uheze umubwire uti: ‘Mbega si wewe ga mukama wanje umwami warahiye umushumbakazi wawe uti: “Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+”? Kubera iki none Adoniya yabaye umwami?’ 14 Ehe, niwaba ukiriko uravugana n’umwami ng’aho, jewe ubwanje nca ninjira mu nyuma zawe maze nemeze koko amajambo yawe+.”
15 Nuko Bati-sheba yinjira aho umwami ari mu cumba+; umwami yari ashaje cane+, Abishagi+ Umunyashunemukazi akaba yakorera umwami. 16 Maze Bati-sheba arunama+, akubita inkoro hasi imbere y’umwami, umwami na we aca avuga ati: “Ushaka gusaba iki+?” 17 Na we amubwira ati: “Mukama wanje+, umushumbakazi wawe ni wewe wamurahiye Yehova Imana yawe uti: ‘Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+.’ 18 None ehe ubu Adoniya+ ni we yabaye umwami, kandi ubu umukama wanje umwami ubwiwe nta co abiziko namba+. 19 Nkako, yashikanye ibimazi vy’amashūri n’ibitungwa bikiri bito binuze n’intama ku bwinshi, yongera atumira abahungu b’umwami+ bose, na Abiyatari+ umuherezi, na Yowabu+ umukuru w’ingabo; mugabo Salomo umusuku wawe ntiyamutumiye+. 20 Kandi nawe ga mukama wanje umwami, amaso+ ya Isirayeli yose ari kuri wewe, kugira ngo uyibwire uwugiye kwicara ku ntebe y’ubwami y’umukama wanje umwami mu nyuma ziwe+. 21 Kandi ntibizobura kuba yuko umukama wanje umwami niyaba akimara kuryama hamwe na ba sekuruza+, jewe ubwanje n’umuhungu wanje Salomo tuzocika koko nk’abacumuzi.”
22 Maze ehe, akiriko aravugana n’umwami, Natani umuhanuzi arashika+. 23 Baca babwira umwami bati: “Ehe Natani umuhanuzi!” Maze uno yinjira imbere y’umwami hanyuma akubita inkoro hasi imbere y’umwami, mu maso hiwe hakora hasi+. 24 Nuko Natani avuga ati: “Mukama wanje umwami, mbega ni wewe wavuze uti: ‘Adoniya ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+’? 25 Kuko uyu musi yamanutse, kugira ngo ashikane ibimazi+ vy’amashūri n’ibitungwa bikiri bito binuze n’intama vyinshi, no kugira ngo atumire abahungu b’umwami bose n’abakuru b’ingabo na Abiyatari umuherezi+; ehe bariko barira bongera banywera imbere yiwe, kandi baguma bavuga ngo: ‘Umwami Adoniya nabeho+!’ 26 Mugabo jewe umusuku wawe, jewe na Zadoki+ umuherezi na Benaya+ mwene Yehoyada na Salomo umusuku wawe, ntiyadutumiye+. 27 Nimba ico kintu cakozwe bivuye ku mukama wanje umwami, ntiwamenyesheje+ rero umusuku wawe uwukwiye kwicara ku ntebe y’ubwami y’umukama wanje umwami mu nyuma ziwe.”
28 Umwami Dawidi arishura rero, avuga ati: “Nimumpamagarire Bati-sheba+.” Maze uno yinjira imbere y’umwami, ahagarara imbere yiwe. 29 Nuko umwami ararahira+, avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, we yacunguye+ ubuzima bwanje+ akabukura mu marushwa yose+, 30 nk’uko nyene nakurahiye Yehova Imana ya Isirayeli nti: ‘Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje mu kibanza canje!’, ukwo ni ko nza gukora uyu musi+.” 31 Maze Bati-sheba arunama, mu maso hiwe hakora hasi, akubita inkoro hasi+ imbere y’umwami hanyuma avuga ati: “Umukama wanje Umwami Dawidi nabeho gushika igihe kitagira urugero*+!”
32 Umwami Dawidi aca avuga ati: “Nimumpamagarire Zadoki+ umuherezi na Natani umuhanuzi na Benaya+ mwene Yehoyada.” Nuko binjira imbere y’umwami. 33 Maze umwami ababwira ati: “Nimujane n’abasuku+ b’umukama wanyu, hanyuma mushire Salomo umuhungu wanje ku nyumpu yanje y’ingore+ muheze mumumanukane i Gihoni+. 34 Maze Zadoki umuherezi na Natani umuhanuzi bamurobanuze amavuta*+ ng’aho, abe umwami wo kuganza Isirayeli; namwe muvuze inzamba+, hanyuma muvuge muti: ‘Umwami Salomo nabeho+!’ 35 Muheze muduge mumukurikiye, hanyuma yinjire aheze yicare ku ntebe y’ubwami yanje; ni we azoba umwami mu kibanza canje, kandi ni we nzoshinga igikorwa co kuba indongozi ya Isirayeli n’iya Yuda.” 36 Benaya mwene Yehoyada aca yishura umwami ati: “Amen+! Yehova Imana y’umukama wanje umwami na we nyene avuge gutyo+. 37 Nk’uko nyene Yehova yabanye n’umukama wanje umwami+, abe ari ko abana na Salomo+, kandi atume intebe y’ubwami yiwe iba iyikomeye+ kuruta intebe y’ubwami y’umukama wanje Umwami Dawidi.”
38 Nuko Zadoki+ umuherezi na Natani+ umuhanuzi na Benaya+ mwene Yehoyada n’Abakereti+ n’Abapeleti+ baramanuka, bashira Salomo ku nyumpu y’ingore y’Umwami Dawidi+ hanyuma bamujana i Gihoni+. 39 Zadoki umuherezi atora rero ihembe ry’amavuta+ mw’ihema+ araheza ayarobanuza+ Salomo; batangura kuvuza inzamba, maze abantu bose basemerera bati: “Umwami Salomo nabeho+!” 40 Hanyuma abantu bose baraduga bamukurikiye, kandi abantu bariko bavuza imyironge+ bongera banezerwa akanyamuneza kenshi+, ku buryo isi+ isaduka kubera urwamo rwabo.
41 Nuko Adoniya n’abatumire bose bari kumwe na we bumva nya rwamo, mu gihe bari barangije kurya+. Yowabu yumvise ijwi ry’inzamba, aca avuga ati: “Urwo rwamo rw’igisagara kiri mu ntureka+ rusobanura iki?” 42 Akiriko aravuga, erega, Yonatani+ mwene Abiyatari umuherezi araza. Maze Adoniya avuga ati: “Niwinjire, kuko uri umugabo w’intwari, kandi ukaba uzanye inkuru nziza+.” 43 Mugabo Yonatani arishura, abwira Adoniya ati: “Oya! Umukama wacu Umwami Dawidi yimitse Salomo amugira umwami+. 44 Umwami yamurungikanye rero na Zadoki umuherezi na Natani umuhanuzi na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti, baraheza bamushira ku nyumpu y’ingore y’umwami+. 45 Maze Zadoki umuherezi na Natani umuhanuzi bamurobanuza amavuta i Gihoni aba umwami+; mu nyuma bava ng’aho, baduga banezerewe, kandi igisagara kiri mu ntureka. Urwo ni rwo rwamo mwumvise+. 46 Vyongeye, Salomo yicaye ku ntebe y’ubwami y’ingoma+. 47 Ikindi kandi, abasuku b’umwami baje kwipfuriza ineza umukama wacu Umwami Dawidi bati: ‘Imana yawe itume izina rya Salomo ryakaka kuruta izina ryawe, kandi itume intebe y’ubwami yiwe iba iyihambaye kuruta intebe y’ubwami yawe+!’ Umwami yaciye yunama ku gitanda+. 48 Ibi ni vyo kandi umwami yavuze: ‘Hahezagirwe+ Yehova Imana ya Isirayeli, we uno musi yatanze uwo kwicara ku ntebe y’ubwami yanje, amaso yanje bwite avyibonera+!’”
49 Nuko abatumire bose bari kumwe na Adoniya batangura kujugumira, maze barahaguruka baragenda, umwe wese ajana inzira yiwe+. 50 Nayo Adoniya, aratinya kubera Salomo. Arahaguruka rero, aragenda maze acakira amahembe y’igicaniro*+. 51 Mu nyuma Salomo amenyeshwa ngo: “Ehe Adoniya asigaye atinya Umwami Salomo; kandi ehe yafashe amahembe y’igicaniro, avuga ati: ‘Umwami Salomo nabanze andahire yuko atazokwicisha inkota umusuku wiwe.’” 52 Salomo aca avuga ati: “Niyaba umugabo w’intwari, nta gashatsi na kamwe+ kiwe kazokorokera hasi; mugabo niyabonekamwo ikibi+, azobwirizwa rero gupfa+.” 53 Nuko Umwami Salomo atuma abantu kumumanura kuri nya gicaniro. Maze araza, yunamira Umwami Salomo; hanyuma Salomo amubwira ati: “Genda i muhira iwawe+.”
2 Amaherezo imisi ya Dawidi yo gupfa iregereza+; nuko ategeka Salomo umuhungu wiwe ati: 2 “Ngiye kujana inzira isi yose ijana+; uze ukomere+ kandi werekane ko uri umugabo+. 3 Uze ugumye ico Yehova Imana yawe asaba, mu kugendera mu nzira ziwe+, mu kugumya ivyagezwe vyiwe, amabwirizwa yiwe n’ingingo z’ubutungane* ziwe+ be n’ibishingantahe vyiwe, ukurikije ivyanditswe mw’itegeko rya Musa+, kugira ngo ukorane ukwigengesera mu kintu cose uzokora n’ahantu hose uzoja; 4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’
5 “Kandi nawe ubwawe urazi neza ivyo Yowabu mwene Zeruwiya yangiriye+, mu vyo yagiriye abakuru b’ingabo za Isirayeli babiri, Abuneri+ mwene Neri na Amasa+ mwene Yeteri+, igihe yabica, agashira amaraso+ y’intambara mu gihe c’amahoro, kandi agashira amaraso y’intambara ku mukaba wari mu mafyinga yiwe no ku nkweto* ziwe zari ku birenge vyiwe. 6 Uze ukore nk’uko ubukerebutsi bwawe+ buri, maze ntureke ngo imvi ziwe zimanuke amahoro+ mu kuzimu*+.
7 “Nayo bene Baruzilayi+ Umugileyadi, uze ubagirire ubuntu bwuzuye urukundo; baze babe mu barira ku meza yawe+; kuko ukwo ari ko banyiyegereje+ igihe nahunga mvuye imbere ya Abusalomu mwene wanyu+.
8 “Kandi ehe, iruhande yawe hari Shimeyi+ mwene Gera Umubenyamini w’i Bahurimu+; ni we yahamagariye akabi kuri jewe akoresheje umuvumo ubabaza+, umusi nariko nja i Mahanayimu+; kandi ni we yamanutse kunsanganira kuri Yorodani+, ku buryo ndamurahira Yehova nti: ‘Sinzokwicisha inkota+.’ 9 Ubu rero, ntuze ureke kumuhana+, kuko uri umugabo w’inkerebutsi+ kandi ukaba uzi neza ico ubwirizwa kumukorera; uze umanukane imvi+ ziwe mu kuzimu ziriko amaraso+.”
10 Maze Dawidi aryama hamwe na ba sekuruza+, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi+. 11 Imisi Dawidi yari yaraganje Isirayeli yabaye imyaka mirongo ine+. I Heburoni+ yari yaganje imyaka indwi+, i Yeruzalemu na ho aganza imyaka mirongo itatu n’itatu+.
12 Nayo Salomo, yicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe+; amaherezo ingoma yiwe irashimangirwa rwose+.
13 Mu nyuma, Adoniya mwene Hagiti aza kuri Bati-sheba+ nyina wa Salomo. Uno aca amubwira ati: “Ukuza kwawe ni ukw’amahoro+?” Na we ati: “Ni ukw’amahoro.” 14 Abandanya kuvuga ati: “Hari ijambo ndagufitiye.” Na we ati: “Vuga+.” 15 Adoniya abandanya ati: “Wewe ubwawe urazi neza yuko ingoma yobwirijwe kuba iyanje, be n’uko Isirayeli yose yari yashize amaso kuri jewe kugira ngo mbe umwami+; mugabo ingoma yarahindukiye iba iya mwene wacu, kuko yabaye iyiwe bivuye kuri Yehova+. 16 Ubu rero hari ikintu kimwe ngusaba. Ntunyankire+.” Nuko amubwira ati: “Vuga.” 17 Na we abandanya kuvuga ati: “Ndakwinginze ubwire Salomo umwami (kuko atazokwankira) ngo ampe Abishagi+ Umunyashunemukazi+ ambere umugore.” 18 Bati-sheba aca avuga ati: “Ni vyiza! Jewe ubwanje ndakuvugira ku mwami.”
19 Bati-sheba yinjira rero aho Umwami Salomo ari kugira avugane na we ku bwa Adoniya+. Umwami aca arahaguruka+ kugira amusanganire maze aramwunamira+. Hanyuma yicara ku ntebe y’ubwami yiwe araheza ashirishaho intebe y’icubahiro ku bwa nyina w’umwami, kugira ngo uno yicare iburyo bwiwe+. 20 Nuko avuga ati: “Hari ikintu gitoya ngusaba. Ntunyankire.” Umwami amubwira rero ati: “Gisabe mawe; kuko ntakwankira.” 21 Nyina abandanya kuvuga ati: “Abishagi Umunyashunemukazi nahabwe Adoniya mwene wanyu amubere umugore.” 22 Umwami Salomo aca arishura, abwira nyina ati: “Kubera iki none usabiye Adoniya Abishagi Umunyashunemukazi? Numusabire n’ingoma+ (kuko ari mwene wacu anduta+), egome numusabire, usabire na Abiyatari+ umuherezi na Yowabu+ mwene Zeruwiya+.”
23 Umwami Salomo aca arahira Yehova ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, Adoniya niyaba atavuze ico kintu ku bwo gushira mu kaga ubuzima bwiwe+. 24 Ubu rero, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ we yanshimangiye+ kandi akangumiza ku ntebe y’ubwami ya Dawidi dawe+ akongera akanyubakira inzu+ nk’uko nyene yavuze+: uno musi Adoniya aricwa+.” 25 Umwami Salomo aca arungika itegeko biciye kuri Benaya+ mwene Yehoyada; nuko amugurukirako, arapfa+.
26 Abiyatari+ umuherezi na we, umwami amubwira ati: “Ja i Anatoti+ mu matongo yawe! Kuko ukwiriye gupfa+; mugabo uyu musi sinkwica, kuko warerura isandugu y’Umukama Segaba Yehova+ imbere ya Dawidi dawe+, no kubera ko wagize amarushwa mu gihe cose dawe yagize amarushwa+.” 27 Salomo yirukana rero Abiyatari ngo ntabe agikora ari umuherezi wa Yehova, kugira ngo ashitse ijambo rya Yehova, iryo yari yaravuze ku nzu ya Eli+ i Shilo+.
28 Nuko iyo nkuru ishikira Yowabu+ (kuko Yowabu yari yarahengamiye ku ruhande rwa Adoniya+, naho atari yarahengamiye ku ruhande rwa Abusalomu+) hanyuma Yowabu ahungira kw’ihema+ rya Yehova, afata amahembe y’igicaniro aragumya+. 29 Maze Umwami Salomo abwirwa ngo: “Yowabu yahungiye mw’ihema rya Yehova, kandi ehe ari iruhande y’igicaniro.” Salomo atuma rero Benaya mwene Yehoyada, amubwira ati: “Genda, umugurukireko+!” 30 Nuko Benaya aja kw’ihema rya Yehova maze amubwira ati: “Umwami avuze ati: ‘Sohoka!’” Mugabo avuga ati: “Oya! Kuko aha+ ari ho mpfira.” Benaya aca agaruka kumenyesha umwami ati: “Ibi ni vyo Yowabu yavuze, kandi ibi ni vyo yanyishuye.” 31 Maze umwami amubwira ati: “Kora nk’uko yavuze, umugurukireko; umuhambe maze ukure kuri jewe no ku nzu ya dawe amaraso+ yasheshwe bidakwiriye, ayo Yowabu yavishije+. 32 Yehova ntazobura kugarukana amaraso yiwe ku mutwe wiwe+, kuko yagurukiye ku bagabo babiri bagororotse kumurusha kandi bameze neza kumurusha+, akabicisha inkota, kandi dawe Dawidi atabizi+, abo na bo bakaba ari Abuneri+ mwene Neri umukuru w’ingabo za Isirayeli+ na Amasa+ mwene Yeteri umukuru w’ingabo za Yuda+. 33 Kandi amaraso yabo aze agaruke ku mutwe wa Yowabu no ku mutwe w’uruvyaro rwiwe gushika igihe kitagira urugero+; mugabo ku bwa Dawidi+ no ku bw’uruvyaro rwiwe no ku bw’inzu yiwe no ku bw’intebe y’ubwami yiwe, hazoba amahoro ava kuri Yehova, gushika igihe kitagira urugero+.” 34 Maze Benaya mwene Yehoyada araduga+ hanyuma amugurukirako, aramwica+; nuko ahambwa i muhira iwe mu gahinga. 35 Umwami aca ashira Benaya+ mwene Yehoyada mu kibanza ciwe ngo abe umukuru w’ingabo+; Zadoki umuherezi na we, umwami amushira mu kibanza ca Abiyatari+.
36 Amaherezo umwami atuma guhamagara Shimeyi+ maze amubwira ati: “Niwiyubakire inzu i Yeruzalemu, ubeyo, kandi ntuze usohoke uvuyeyo ngo uje aha na hariya. 37 Umusi wasohotse ukarengana koko umwonga Kidironi+, umenye neza ko uzopfa ata kabuza+. Amaraso yawe azoja ku mutwe wawe+.” 38 Shimeyi aca abwira umwami ati: “Iryo jambo ni ryiza. Umusuku wawe azokora nk’uko umukama wanje umwami avuze.” Maze Shimeyi abandanya kuba i Yeruzalemu imisi myinshi.
39 Haheze imyaka itatu, abashumba+ babiri ba Shimeyi bahungira kwa Akishi+ mwene Mayaka umwami wa Gati+; maze abantu baza kumenyesha Shimeyi bati: “Ehe abashumba bawe bari i Gati.” 40 Shimeyi aca arahaguruka, ashira itandiko ku ndogobwa yiwe maze aja i Gati kwa Akishi kurondera abashumba biwe; hanyuma Shimeyi aragenda, akura abashumba biwe i Gati. 41 Maze Salomo amenyeshwa ngo: “Shimeyi yasohotse Yeruzalemu aja i Gati, kandi yagarutse.” 42 Umwami atuma rero guhamagara+ Shimeyi maze amubwira ati: “Mbega sinakurahije Yehova kugira ngo ndakugabishe+, nkavuga nti: ‘Umusi wasohotse ukaja koko aha na hariya umenye neza yuko utazobura gupfa’? Ntiwambwiye none uti: ‘Ijambo numvise ni ryiza+’? 43 Kubera iki none utagumije indahiro ya Yehova+ n’ibwirizwa nagushiriyeho nshimitse+?” 44 Umwami abandanya kubwira Shimeyi ati: “Wewe ubwawe urazi ata gukeka ikibi cose umutima wawe uzi neza, ico wakoreye Dawidi dawe+; Yehova na we agiye gusubiza koko ku mutwe wawe ikibi wakoze+. 45 Mugabo Umwami Salomo azohezagirwa+, kandi intebe y’ubwami ya Dawidi izoshimangirwa imbere ya Yehova ibihe bidahera+.” 46 Umwami aca ategeka Benaya mwene Yehoyada, na we arasohoka hanyuma amugurukirako, arapfa+.
Maze ubwami burashimangirwa mu kuboko kwa Salomo+.
3 Nuko Salomo yunga na Farawo umwami wa Misiri ubucuti bw’ukwabirana+, atora umukobwa wa Farawo+, amujana mu Gisagara ca Dawidi+, gushika arangije kwubaka inzu yiwe+ n’inzu ya Yehova+ be n’uruhome rwa Yeruzalemu, irya n’ino+. 2 Ariko abantu baguma bashikanira ibimazi ku bibanza bikirurutse*+, kuko izina rya Yehova ritari bwubakirwe inzu gushika muri iyo misi+. 3 Salomo abandanya gukunda+ Yehova mu kugendera mu vyagezwe vya Dawidi se wiwe+. Ariko ku bibanza bikirurutse+ ni ho yama ashikanira ibimazi akongera akahafumbishiriza amashikanwa.
4 Nuko umwami aja i Gibeyoni+ gushikanirayo ibimazi, kuko ico cari ikibanza gikirurutse+ gikomeye. Salomo atangura gushikana kuri ico gicaniro ibimazi igihumbi biturirwa+. 5 Aho i Gibeyoni, Yehova abonekera+ Salomo mu ndoto+ mw’ijoro; hanyuma Imana ivuga iti: “Saba ico ugomba ndakiguhe+.” 6 Salomo aca avuga ati: “Wewe ubwawe waragiriye cane ubuntu bwuzuye urukundo+ umusavyi wawe Dawidi dawe, wisunze uko yagendeye imbere yawe mu kuri no mu bugororotsi+ no mu kugororoka kw’umutima ku bijanye nawe; kandi warabandanije kumugirira cane ubwo buntu bwuzuye urukundo, ku buryo wamuhaye umuhungu wo kwicara ku ntebe y’ubwami yiwe, nk’uko biri uyu musi+. 7 None rero, Yehova Mana yanje, ni wewe wimitse umusavyi wawe umugira umwami mu kibanza ca Dawidi dawe, kandi jewe ndi agahungu+. Sinzi iyo bija n’iyo biva+. 8 Kandi umusavyi wawe ari hagati y’abantu bawe watoye+, igisata c’abantu isinzi batagira igitigiri kandi badashobora guharurwa kubera ubwinshi+. 9 Uze uhe umusavyi wawe umutima ugamburuka kugira ngo acire imanza+ abantu bawe, ngo amenye gutandukanya ikibi n’iciza+; nakare, ni nde ashoboye gucira imanza+ aba bantu bawe n’ingene bagoye+?”
10 Ico kintu kiba igihimbaye mu maso ya Yehova, kuko Salomo yari asavye ico kintu+. 11 Imana ibandanya kumubwira iti: “Kubera yuko wasavye ico kintu, ntiwisabire imisi myinshi canke ngo wisabire ubutunzi+ canke ngo usabe ubuzima bw’abansi bawe, ukisabira ubwenge kugira ngo wumvirize imanza+, 12 ehe nzokugirira koko nk’uko amajambo yawe ari+. Ehe nzoguha koko umutima ukerebutse kandi utahura+, ku buryo imbere yawe ata wuzoba yarabayeho ameze nkawe, kandi mu nyuma zawe ata wuzohaguruka ameze nkawe+. 13 Mbere n’ivyo utasavye nzobiguha+, ubutunzi+ n’ubuninahazwa, ku buryo mu bami hatazoboneka n’umwe ameze nkawe, mu misi yawe yose+. 14 Kandi niwagendera mu nzira zanje mu kugumya ingingo nyobozi zanje+ n’amabwirizwa yanje, nk’uko nyene Dawidi so wawe yagenze+, nzoguha no kuramba*+.”
15 Salomo yikanguye+, erega asanga yari indoto. Maze aza i Yeruzalemu, ahagarara imbere y’isandugu+ y’isezerano ya Yehova hanyuma ashikana ibimazi biturirwa yongera ahereza amashikanwa y’ugusangira+, araheza atereka inzimano+ abasuku biwe bose+.
16 Ico gihe abagore babiri, abamaraya+, binjira aho umwami ari hanyuma bahagarara imbere yiwe+. 17 Maze umwe muri abo bagore avuga ati: “Ntunga mukama wanje+, jewe n’uyu mugore tuba mu nzu imwe, ku buryo nibarukiye iruhande yiwe muri nya nzu. 18 Ku musi ugira gatatu nibarutse, uyu mugore na we nyene yaribarutse. Kandi twari kumwe. Nta w’ahandi yari kumwe natwe mu nzu, nta n’umwe kiretse twebwe babiri mu nzu. 19 Mu nyuma, umwana w’uyu mugore yarapfuye mw’ijoro, kuko yari yamuryamyeko. 20 Nuko aravyuka mu gicugu, atora umwana wanje iruhande yanje mu gihe umushumbakazi wawe yari asinziriye, hanyuma amuryamika mu gikiriza ciwe, umwana wiwe yapfuye na we amuryamika mu gikiriza canje. 21 Mvyutse mu gitondo kwonsa+ umwana wanje, erega, nsanga yapfuye. Nuko ndamusuzuma nitonze mu gitondo, maze nsanga si umwana wanje, uwo nari navyaye.” 22 Mugabo nya mugore wundi avuga ati: “Oya, ahubwo umwana wanje ni uwuri muzima, umwana wawe na we ni uwapfuye!” Muri ico gihe cose, uwo mugore yariko avuga ati: “Oya, ahubwo umwana wawe ni uwapfuye, umwana wanje na we ni uwuri muzima.” Nuko baguma bavugira imbere y’umwami+.
23 Amaherezo umwami avuga ati: “Uyu avuga ngo: ‘Uyu ni we mwana wanje, uwuri muzima, umwana wawe na we ni uwapfuye!’, urya na we akavuga ngo: ‘Oya, ahubwo umwana wawe ni uwapfuye, umwana wanje na we ni uwuri muzima!’” 24 Umwami abandanya kuvuga+ ati: “Nimunzanire inkota.” Bazana rero inkota imbere y’umwami. 25 Nuko umwami avuga ati: “Nimuhimburemwo kubiri uwo mwana muzima maze igihimba kimwe mugihe umugore umwe ikindi gihimba na co mugihe uwundi.” 26 Nuko wa mugore nyene uwo mwana muzima, abwira umwami (kuko yari agiriye ikigumbagumba+ umwana wiwe+, ku buryo avuga) ati: “Ntunga+ mukama wanje, nimumuhe uwo mwana muzima. Eka ntimumwice.” Muri ico gihe cose, wa mugore wundi yariko avuga ati: “Ntaba uwawe canke uwanje. Himbure+!” 27 Umwami aca arishura, ati: “Nimumuhe uwo mwana muzima, ntimumwice namba. Ni we nyina wiwe.”
28 Nuko Isirayeli yose yumva iyo ngingo y’ubutungane+ umwami yari yashikirije; maze baratinya kubera umwami+, kuko babona yuko ubukerebutsi+ bw’Imana bwari muri we, kugira ashitse ingingo y’ubutungane.
4 Nuko Umwami Salomo abandanya kuba umwami wa Isirayeli yose+. 2 Aba ni bo baganwa+ yari afise: Azariya mwene Zadoki+, umuherezi; 3 Elihorefu na Ahiya, bene Shisha, abanyamabanga+; Yehoshafati+ mwene Ahiludi, umukarani; 4 Benaya+ mwene Yehoyada yari umukuru w’ingabo+, Zadoki na Abiyatari+ na bo bakaba abaherezi; 5 Azariya mwene Natani+ yari umukuru w’ivyariho, Zabudi mwene Natani na we akaba umuherezi, umukunzi+ w’umwami; 6 Ahishari yagaba urugo, Adoniramu+ mwene Abuda na we akagaba abagenewe ibikorwa vy’agahato+.
7 Kandi Salomo yari afise ivyariho cumi na bibiri kuri Isirayeli yose, bakaba baronsa ibifungurwa umwami n’urugo rwiwe. Umwe wese yari ajejwe ibanga ryo kubaronsa ibifungurwa ukwezi kumwe mu mwaka+. 8 Aya ni yo yari amazina yabo: Mwene Huru: mu karere k’imisozi ka Efurayimu+; 9 mwene Dekeri: i Makazi n’i Shayalubimu+ n’i Beti-shemeshi+ n’i Eloni-beti-hanani; 10 mwene Hesedi: i Aruboti (yari afise ahitwa Soko n’igihugu cose ca Heferi+); 11 mwene Abinadabu: urunani rw’imisozi ya Dori+ rwose (Tafati, umukobwa wa Salomo, aba umugore wiwe); 12 Bayana mwene Ahiludi: i Tayanaki+ n’i Megido+ n’i Beti-sheyani+ hose, ahari iruhande ya Zaretani+ munsi ya Yezireyeli+, kuva i Beti-sheyani gushika i Abeli-mehola+, gushika mu karere ka Yokimeyamu+; 13 mwene Geberi: i Ramoti-gileyadi+ (yari afise ibigwati vy’amahema vya Yayiri+ mwene Manase, ibiri i Gileyadi+; yari afise akarere ka Arugobu+, akari i Bashani+: ibisagara bininibinini mirongo itandatu bifise impome n’ibihindizo vy’umujumpu); 14 Ahinadabu mwene Ido: i Mahanayimu+; 15 Ahimayazi: muri Nafutali+ (na we nyene atwara Basemati umukobwa wa Salomo, aba umugore wiwe+); 16 Bayana mwene Hushayi: muri Asheri+ n’i Beyaloti; 17 Yehoshafati mwene Paruwa: muri Isakari+; 18 Shimeyi+ mwene Ela: muri Benyamini+; 19 Geberi mwene Uri: mu gihugu ca Gileyadi+, igihugu ca Sihoni+ umwami w’Abamori+, n’ica Ogi+ umwami wa Bashani+, hakaba hariho icariho kimwe cari umukuru w’ibindi vyariho vyari mu gihugu.
20 Yuda na Isirayeli bari benshi, mu bwinshi ari nk’udutete tw’umusenyi turi iruhande y’ikiyaga+; bararya, bakanywa bakanezerwa+.
21 Nayo Salomo, yari umutware aganza ubwami bwose, kuva kuri rwa Ruzi+ gushika mu gihugu c’Abafilisitiya no gushika ku rubibe rwa Misiri. Barazanira Salomo ingabirano bakongera bakamukorera mu misi yose y’ubuzima bwiwe+.
22 Kandi ibifungurwa vya Salomo vyo ku musi ku musi vyama ari ingero mirongo itatu za koro*+ z’ifu inoze n’ingero mirongo itandatu za koro z’ifu isanzwe, 23 inka zidoshe cumi n’inka zaragiwe mirongo ibiri n’intama ijana, hatarimwo amafumbēri+ n’ingeregere+ n’inzobe n’ibikukwe vyadoheshejwe. 24 Kuko yaganza ikintu cose cari hakuno ya rwa Ruzi+, kuva i Tifusa gushika i Gaza+, mbere n’abami bose bo hakuno ya rwa Ruzi+; nuko agira amahoro+ mu karere kiwe kose, irya n’ino. 25 Yuda+ na Isirayeli bibandanya kwiberaho mu mutekano+, umuntu wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti c’umusukoni+ ciwe, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, mu misi yose ya Salomo.
26 Salomo agira impongore ibihumbi mirongo ine z’amafarasi+ ku bw’imikogote+ yiwe, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri.
27 Nya vyariho+, umwe wese mu kwezi kwiwe, bararonsa ibifungurwa Umwami Salomo be n’umuntu wese yegera imeza y’Umwami Salomo. Ntibareka ngo hagire ikibura. 28 Baguma bajana sayiri* n’ibikumbi ku bw’amafarasi no ku bw’imigwi y’amafarasi+ aho vyaba bikenewe hose, umwe wese nk’uko ibanga yashinzwe ryari+.
29 Nuko Imana ibandanya guha Salomo ubukerebutsi+ n’ugutegera+, ku rugero runini cane, n’umutima ufise ugutahura kwagutse+, nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. 30 Kandi ubukerebutsi bwa Salomo bwari bwagutse+ kuruta ubukerebutsi bw’Abanyabuseruko+ bose no kuruta ubukerebutsi bwa Misiri bwose+. 31 Yari inkerebutsi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, kuruta Etani+ Umwezerahi na Hemani+ na Kalikoli+ na Darida bene Maholi; nuko ukuba rurangiranwa kwiwe gukwira mu mahanga yose yari irya n’ino+. 32 Yarashobora guca imigani ibihumbi bitatu+, indirimbo ziwe+ na zo ziba igihumbi na zitanu. 33 Yaravuga ivyerekeye ibiti, kuva kw’isederi iri muri Libani+ gushika kuri ezobu+ imera ku ruhome; yaravuga ivyerekeye ibikoko+, ivyerekeye ibiremwa biguruka+, ivyerekeye ibikoko bigendagenda+ be n’ivyerekeye amafi+. 34 Abantu baguma baza bavuye mu bisata vy’abantu vyose kugira ngo bumve ubukerebutsi+ bwa Salomo, egome, bavuye mu bami bose bo mw’isi bari barumvise ivyerekeye ubukerebutsi bwiwe+.
5 Nuko Hiramu+ umwami wa Tiro+ atuma abasuku biwe+ kuri Salomo, kuko yari yumvise yuko ari we bari barobanuje amavuta ngo abe umwami mu kibanza ca se wiwe; kuko Hiramu yari yamye akunda Dawidi+. 2 Salomo na we atuma kuri Hiramu ati+: 3 “Wewe ubwawe urazi neza yuko Dawidi dawe atashoboye kwubakira inzu izina rya Yehova Imana yiwe kubera intambara+ abansi biwe barwanye na we irya n’ino yiwe, gushika Yehova abashize munsi y’ubworo bw’ibirenge vyiwe. 4 Ubu rero Yehova Imana yanje yampaye akaruhuko impande zose+. Nta wundwanya ariho, kandi nta kintu na kimwe kibi kiriko kiraba+. 5 Kandi ehe ndiko niyumvira ivyo kwubakira inzu izina rya Yehova Imana yanje+, nk’uko nyene Yehova yasezeraniye Dawidi dawe ati: ‘Umuhungu wawe nzoshira ku ntebe y’ubwami yawe mu kibanza cawe, ni we azokwubakira inzu izina ryanje+.’ 6 None rero, tegeka bancire amasederi y’i Libani+; abasuku banje bazoba bari kumwe n’abasuku bawe, kandi impembo y’abasuku bawe nzoyiguha nkurikije ivyo uzovuga vyose, kuko wewe ubwawe uzi neza yuko muri twebwe ata n’umwe azi guca ibiti nk’Abanyasidoni+.”
7 Hiramu+ akimara kwumva amajambo ya Salomo, aranezerwa rwose, maze avuga ati: “Arahezagiwe+ Yehova uno musi, kuko yahaye Dawidi umuhungu w’inkerebutsi+ ngo aganze aba bantu benshi+!” 8 Nuko Hiramu atuma kuri Salomo ati: “Numvise ivyo wantumyeko. Jewe nzokora ibiguhimbara vyose mu bijanye n’ibiti vy’amasederi n’ibiti vy’imiberoshi+. 9 Abasuku banje bazobimanukana ku kiyaga babikuye i Libani+; nayo jewe, nzobifatanya bimere nk’amasaso, bijane ikiyaga gushika ahantu uzomenyesha+; nzobifatanurira koko ng’aho, nawe uheze ubitware; hanyuma nawe, uze ukore ibimpimbara mu gutanga ibifungurwa vy’urugo rwanje+.”
10 Gutyo Hiramu aha Salomo ibiti vy’amasederi n’ibiti vy’imiberoshi, uko bimuhimbara kwose. 11 Salomo na we aha Hiramu ingero za koro+ z’ingano ibihumbi mirongo ibiri ngo zibe ibifungurwa vy’urugo rwiwe be n’ingero za koro mirongo ibiri z’amavuta asekuye+. Ivyo ni vyo Salomo yaha Hiramu ku mwaka ku mwaka+. 12 Yehova na we aha Salomo ubukerebutsi, nk’uko nyene yari yaramusezeraniye+; nuko haba amahoro hagati ya Hiramu na Salomo, maze bompi bapfundika isezerano.
13 Kandi Umwami Salomo yaguma adugana abagenewe ibikorwa vy’agahato abakuye muri Isirayeli yose; abo bene kugenerwa ibikorwa vy’agahato+ bashika ku bagabo ibihumbi mirongo itatu. 14 Yarabarungika i Libani ari ibihumbi cumicumi ku kwezi, bakaza barakurakuranwa. Ukwezi kumwe bakumara i Libani, amezi abiri bakayamara mu ngo zabo+; Adoniramu+ ni we yagaba abagenewe+ ibikorwa vy’agahato+. 15 Nuko Salomo agira+ abantu ibihumbi mirongo irindwi batwara imizigo+ be n’abantu ibihumbi mirongo umunani baringaniza amabuye+ ku musozi+, 16 hatarimwo ivyariho+ vya Salomo bacungera igikorwa, bano bakaba bari abahagarikizi+ ibihumbi bitatu n’amajana atatu bagaba abantu bakora ico gikorwa. 17 Umwami ategeka rero yuko bimba amabuye maninimanini, amabuye azimvye+, kugira ngo umushinge+ wa nya nzu ushingishwe amabuye abaje+. 18 Nuko abubatsi ba Salomo n’abubatsi ba Hiramu be n’Abagebali+ babaza amabuye; babandanya gutegura ibiti n’amabuye kugira bubake nya nzu.
6 Nuko mu mwaka ugira amajana ane na mirongo umunani inyuma y’aho bene Isirayeli baviriye mu gihugu ca Misiri+, mu mwaka ugira kane+, mu kwezi kwa Zivu+, ni ukuvuga ukwezi kugira kabiri+, inyuma y’aho Salomo abereye umwami wa Isirayeli, atangura kwubakira inzu Yehova+. 2 Inzu Umwami Salomo yubakiye+ Yehova yari ifise uburebure bw’amatambwe* mirongo itandatu+, ubwaguke bw’amatambwe mirongo ibiri, n’amahagarara y’amatambwe mirongo itatu+. 3 Ibaraza+ ry’imbere y’urusengero rya nya nzu ryari rifise uburebure bw’amatambwe mirongo ibiri, imbere y’ubwaguke bw’iyo nzu. Ubwimbike bwaryo bwari amatambwe cumi, imbere y’iyo nzu.
4 Maze akorera iyo nzu amadirisha afise ibizingiti bigenda vyaga+. 5 Vyongeye, ku ruhome rw’iyo nzu ahubaka inyubakwa yo mu mbavu irya n’ino, ku mpome z’iyo nzu irya n’ino y’urusengero n’icumba c’ahitereye+, yongera akora ivyumba vyo mu mbavu+ irya n’ino. 6 Icumba co mu mbavu co hasi y’ibindi cari gifise ubwaguke bw’amatambwe atanu, ico hagati cari gifise ubwaguke bw’amatambwe atandatu, ikigira gatatu na co kikagira ubwaguke bw’amatambwe indwi; kuko iyo nzu yari yayihaye ahantu haniguye+ hanze, irya n’ino, kugira ngo ntihagire ikintu cinjira mu mpome z’iyo nzu+.
7 Iyo nzu, mu gihe co kuyubaka, yubakishwa amabuye yo mw’icukuriro+ yari yaramaze gutunganywa; nta nyundo n’amashoka canke ibikoresho vy’icuma ivyo ari vyo vyose vyumvikanye muri iyo nzu+ mu gihe co kuyubaka. 8 Ubwinjiriro+ bw’icumba co mu mbavu co hasi y’ibindi bwari ku ruhande rw’iburyo rw’iyo nzu; mu kuduga mu cumba co hagati badugana ingazi zigenda zizunguruka, no mu kuva mu cumba co hagati baduga mu cumba kigira gatatu. 9 Vyongeye, abandanya kwubaka iyo nzu kugira ngo ayirangize+, yongera apfukisha iyo nzu ibigiga n’imisitari y’ibiti vy’amasederi+. 10 Yubaka kandi kuri iyo nzu yose ivyumba vyo mu mbavu+ bifise amahagarara y’amatambwe atanu, bikaba vyafatanywa kuri nya nzu n’imbaho+ z’ibiti vy’amasederi.
11 Muri ico gihe, ijambo rya Yehova riza kuri Salomo+ riti+: 12 “Ku bijanye n’iyi nzu uriko urubaka, niwagendera mu vyagezwe vyanje+, ugashitsa ingingo z’ubutungane zanje+ kandi ukagumya koko amabwirizwa yanje yose mu kuyagenderamwo+, nanje rero sinzobura gushitsa ijambo ryanje rikwerekeye, iryo nabwiye Dawidi so+; 13 nzoba koko hagati muri bene Isirayeli+, kandi sinzoheba igisata canje Isirayeli+.”
14 Nuko Salomo abandanya kwubaka nya nzu kugira ngo ayirangize+. 15 Yubaka impome z’iyo nzu imbere muri yo akoresheje imbaho z’isederi. Kuva hasi h’iyo nzu gushika ku bigiga vy’idari, ayomekako imbaho imbere muri yo; hasi h’iyo nzu na ho ahomeka imbaho z’umuberoshi+. 16 Vyongeye, yubaka amatambwe mirongo ibiri ku mpande z’inyuma z’iyo nzu, ayubakisha imbaho z’isederi, kuva hasi gushika ku bigiga, maze imbere muri yo ayubakira icumba c’ahitereye+, Aheranda Rwose*+. 17 Iyo nzu, ni ukuvuga urusengero+ rwari imbere y’Aheranda Rwose+, yari ifise amatambwe mirongo ine. 18 Amasederi yari kuri iyo nzu imbere muri yo yari akorogoshoyeko udusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga+ n’ingori z’amashurwe+. Yose yari amasederi; nta buye ryaboneka.
19 Icumba c’ahitereye+, imbere muri iyo nzu, agitegura indani, kugira ngo ahashire isandugu+ y’isezerano+ rya Yehova. 20 Ico cumba c’ahitereye cari gifise uburebure bw’amatambwe mirongo ibiri, ubwaguke bw’amatambwe mirongo ibiri+, amahagarara yaco na yo akaba amatambwe mirongo ibiri; nuko atangura kugihomekako inzahabu itavanze+, no guhomeka ku gicaniro+ isederi. 21 Hanyuma Salomo ahomeka+ imbere muri nya nzu inzahabu itavanze+, yongera acisha iminyororo+ y’inzahabu imbere y’icumba c’ahitereye+, maze agihomekako inzahabu. 22 Iyo nzu yose ayihomekako inzahabu+, gushika inzu yose irangiye; kandi igicaniro+ cose cari amaja ku cumba c’ahitereye agihomekako inzahabu+.
23 Vyongeye, mu cumba c’ahitereye ahingura abakerubi*+ babiri mu giti c’amavuta, amahagarara y’umwumwe wese akaba yari amatambwe cumi+. 24 Rimwe mu mababa y’umukerubi ryari amatambwe atanu, irindi na ryo rikaba amatambwe atanu. Kuva kw’isonga ry’ibaba ryiwe gushika ku rindi songa ry’ibaba ryiwe+ yari amatambwe cumi. 25 Umukerubi agira kabiri na we yari amatambwe cumi. Nya bakerubi babiri barangana, kandi bari bameze kumwe. 26 Amahagarara y’umwe muri abo bakerubi yari amatambwe cumi, uwundi mukerubi na we nyene kukaba ukwo. 27 Maze ashira nya bakerubi mu nzu y’indani, ku buryo basanza amababa ya nya bakerubi+. Gutyo ibaba ry’umwe ryakora ku ruhome, ibaba ry’uwundi mukerubi na ryo rigakora ku rundi ruhome; amababa yabo yari amaja hagati na hagati ya nya nzu, ibaba rimwe rigakora ku rindi+. 28 Vyongeye, ahomeka inzahabu kuri abo bakerubi+.
29 Impome zose z’iyo nzu, irya n’ino, azisarurako amashusho y’abakerubi+ n’amashusho y’ibigazi+ be n’udusaruro tw’amashurwe+, imbere no hanze; 30 hasi+ h’iyo nzu na ho ahomeka inzahabu, imbere no hanze. 31 Ubwinjiriro bw’icumba c’ahitereye abukora n’imiryango+ y’igiti c’amavuta+: inkingi zo mu mbavu, ibishimaryango n’ica gatanu. 32 Iyo miryango ibiri yari ikozwe mu giti c’amavuta; nuko ayikorogoshorako amashusho y’abakerubi n’amashusho y’ibigazi n’udusaruro tw’amashurwe, hanyuma abihomekako inzahabu; nuko ahondera inzahabu kuri nya bakerubi no kuri nya mashusho y’ibigazi. 33 Ukwo ni ko yagize ku bwinjiriro bw’urusengero: ibishimaryango vyo mu giti c’amavuta vyari bifise impande zine zingana be n’imfuruka ngororotsi. 34 Kandi nya miryango ibiri yari ikozwe mu giti c’umuberoshi+. Inzugi zibiri z’umuryango umwe zazungurukira kw’isonga ryo kuzungurukirako, inzugi zibiri z’uwundi muryango na zo zikazungurukira kw’isonga ryo kuzungurukirako+. 35 Nuko akorogoshora abakerubi n’amashusho y’ibigazi n’udusaruro tw’amashurwe, maze ahomeka kuri nya mashusho inzahabu ifise intimba ntoya+.
36 Hanyuma yubaka ikigo c’indani+ kigizwe n’imisitari itatu+ y’amabuye abajwe be n’umusitari w’ibibaho vy’isederi.
37 Mu mwaka ugira kane bashinga umushinge+ w’inzu ya Yehova, mu kwezi* kwa Zivu+; 38 mu mwaka ugira cumi na rimwe, mu kwezi kwa Buli, ni ukuvuga ukwezi kw’umunani, nya nzu irarangizwa+ ku bijanye n’utuntu twayo twose be n’umugero wayo+ wose; ku buryo yamaze imyaka indwi ayubaka.
7 Maze Salomo yubaka inzu yiwe mu myaka cumi n’itatu+, ku buryo arangiza inzu yiwe yose+.
2 Atangura kwubaka Inzu y’Ikibira c’i Libani+: uburebure bwayo bwari amatambwe ijana, ubwaguke bwayo bwari amatambwe mirongo itanu, amahagarara yayo na yo yari amatambwe mirongo itatu, ayubaka ku misitari ine y’inkingi z’ibiti vy’amasederi; kuri izo nkingi hari ibibaho+ vy’isederi. 3 Iyo nzu yari yometsweko imbaho z’isederi+ hejuru ku myaro yari kuri nya nkingi mirongo ine na zitanu. Umusitari umwe wariko cumi na zitanu. 4 Nayo ku bijanye n’amadirisha y’ibizingiti, hari imisitari itatu; idirisha ricamwo umuco+ ryarabana n’irindi dirisha ricamwo umuco, ano akaba yari mu mirongo itatu igerekeranye. 5 Aminjiriro yose n’ibishimaryango vyari bifise ibizingiti vy’imfuruka ngororotsi+, kandi ni ko vyari no ku ruhande rw’imbere rw’idirisha ricamwo umuco ryarabana n’irindi dirisha ricamwo umuco, ano akaba yari mu mirongo itatu igerekeranye.
6 Kandi akora Ibaraza ry’Inkingi rifise uburebure bw’amatambwe mirongo itanu, n’ubwaguke bw’amatambwe mirongo itatu; kandi irindi baraza ryari imbere y’izo nkingi, rifise inkingi n’akarenzo imbere yazo.
7 Ku bijanye n’Ibaraza ry’Intebe y’ubwami+ yaciramwo imanza, akora ibaraza ry’imanza+; baripfukisha isederi, kuva hasi gushika ku bigiga+.
8 Nayo ku bijanye n’inzu yiwe yari kubamwo, muri ca kigo kindi+, yari hirya y’inzu yegukira Ibaraza*. Yari imeze nka ryo mu kuntu yari yubatswe. Kandi Salomo atangura kwubakira inzu umukobwa wa Farawo+ yari yaratwaye, iyo nzu ikaba yari imeze nk’iryo Baraza.
9 Izo nyubakwa zose zari izo mu mabuye azimvye+, akurikije ingero, mu mabuye abajwe, agegeneshejwe imisumeno y’amabuye, imbere no hanze, no kuva ku mushinge gushika ku musozo, be no hanze gushika ku kigo kinini+. 10 Ayo mabuye azimvye yashingishijwe umushinge yari amabuye maninimanini, amabuye y’amatambwe cumi, n’amabuye y’amatambwe umunani. 11 Hejuru hari amabuye azimvye, akurikije ingero, amabuye abajwe, be n’isederi. 12 Nayo ku vyerekeye ico kigo kinini, irya n’ino yaco hari imisitari itatu+ y’amabuye abajwe be n’umusitari w’ibibaho vy’isederi; ivyo ni ko vyari no kuri ca kigo c’imbere+ c’inzu+ ya Yehova no kw’ibaraza+ ry’iyo nzu.
13 Nuko Umwami Salomo atuma kurondera Hiramu+ i Tiro. 14 Uno yari umuhungu w’umugore w’umupfakazi wo mu muryango wa Nafutali, se wiwe akaba yari umugabo w’Umunyatiro+, yakora mu bijanye n’umujumpu+; yari yuzuye ubukerebutsi n’ugutahura+ n’ubumenyi ku bwo gukora ubwoko bwose bw’igikorwa co mu mujumpu. Nuko aza ku Mwami Salomo maze atangura gukora igikorwa ciwe cose.
15 Maze ashongesha inkingi zibiri z’umujumpu+, inkingi imwe yose ikaba yari ifise amahagarara y’amatambwe cumi n’umunani, kandi akagozi k’amatambwe cumi n’abiri ni ko kapima inkikuro y’imwimwe yose muri izo nkingi zibiri+. 16 Akora imitwe y’inkingi ibiri yo gushira hejuru kuri izo nkingi, ikaba yari ishongeshejwe mu mujumpu+. Umutwe w’inkingi umwe wari ufise amahagarara y’amatambwe atanu, uwundi mutwe w’inkingi na wo ukagira amahagarara y’amatambwe atanu. 17 Hariho insenga z’urusobangane, tukaba twari udusharizo duhotoye dukozwe nk’iminyororo+, ku bwa nya mitwe y’inkingi yari hejuru kuri izo nkingi+; indwi ku bw’umutwe w’inkingi umwe, n’indwi ku bw’uwundi mutwe w’inkingi. 18 Maze akora amakomamanga n’imisitari ibiri irya n’ino kuri rumwe muri izo nsenga, vyo gupfuka nya mitwe y’inkingi yari hejuru kuri nya nkingi; kandi ukwo ni ko yakoze ku bw’uwundi mutwe w’inkingi+. 19 Iyo mitwe y’inkingi yari hejuru kuri nya nkingi kw’ibaraza yari ikozwe nk’ishurwe ry’ilisi+, ikaba yari amatambwe ane. 20 Iyo mitwe y’inkingi yari iteretse kuri nya nkingi zibiri, ikaba no hejuru ahegeranye n’inda yakoranako n’urusenga; hariho amakomamanga+ amajana abiri ari mu misitari irya n’ino ku mutwe w’inkingi umwumwe wose.
21 Nuko ahagarika inkingi+ z’ibaraza+ ry’urusengero. Ahagarika rero inkingi y’iburyo hanyuma ayita Yakini*, maze ahagarika inkingi y’ibubamfu hanyuma ayita Bowazi*. 22 Hejuru kuri izo nkingi hari hakozwe nk’ishurwe ry’ilisi. Amaherezo igikorwa c’izo nkingi kirarangira.
23 Hanyuma atangura gukora ikiyaga gishongeshejwe+ cangana n’amatambwe cumi kuva ku mbiga yaco imwe gushika ku yindi mbiga, kikaba cari umuzingi irya n’ino; amahagarara yaco yari amatambwe atanu; kugikikuza cose vyasaba ikamba y’amatambwe mirongo itatu+. 24 Munsi y’imbiga zaco irya n’ino hari udusharizo+ tw’imero y’icamwa c’umutanga+ twari tugikikuje, cumicumi mw’itambwe rimwe, tukaba twari dukikuje ico kiyaga irya n’ino+, hakaba hari imisitari ibiri y’utwo dusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga twashongeshanijwe n’ico kiyaga. 25 Cari gihagaze ku mashūri cumi n’abiri+: atatu araba mu buraruko, atatu araba mu burengero, atatu araba mu bumanuko, n’atatu araba mu buseruko; ico kiyaga cari hejuru kuri nya mashūri, kandi inyuma hayo hose haraba hagati na hagati+. 26 Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza+; imbiga yaco na yo yari ihinguwe nk’imbiga y’igikombe, nk’ishurwe ry’ilisi+. Cajamwo ingero za bati+ ibihumbi bibiri*+.
27 Hanyuma akora amashareti cumi+ y’umujumpu; uburebure bw’ishareti imwimwe yose bwari amatambwe ane, ubwaguke bwayo bukaba amatambwe ane, amahagarara yayo na yo akaba amatambwe atatu. 28 Uku ni ko ayo mashareti yari ahinguwe: yari afise impande zo mu mbavu, kandi izo mpande zo mu mbavu zari hagati y’imitambikwa. 29 Kuri izo mpande zo mu mbavu zari hagati ya nya mitambikwa hariko intambwe+, amashūri+, n’abakerubi+, kandi no hejuru ya nya mitambikwa kwari ukwo. Hejuru no munsi ya nya ntambwe na nya mashūri hari ibitsibo+ bikozwe nk’ibimanitse. 30 Kw’ishareti imwimwe yose hariko amakurudumu y’umujumpu ane, afise ibitambiko vy’umujumpu biyafashe; inkingi z’iyo shareti zine zo mu mfuruka ni zo zari ibishigikizo vy’ayo makurudumu n’ibitambiko. Munsi y’ibesani hari nya bishigikizo, bikaba vyari bishongeshanijwe n’ibitsibo vyava kuri kimwekimwe cose. 31 Umunwa wayo kuva indani gushika ku bishigikizo no kuduga wari amatambwe [?]*; umunwa wayo wari umuzingi, ukaba wari uhinguwe nk’igitereko c’itambwe n’inusu, kandi ku munwa wayo hari hakorogoshoweko. Impande zayo zo mu mbavu zari zigize imfuruka ngororotsi, ntizari umuzingi. 32 Ya makurudumu ane yari hasi munsi ya nya mpande zo mu mbavu, ibishigikizo vy’ayo makurudumu na vyo bikaba vyari hafi y’ishareti; amahagarara y’ikurudumu imwimwe yose yari itambwe rimwe n’inusu. 33 Ayo makurudumu yari ahinguwe nk’amakurudumu y’umukogote+. Ibishigikizo vyayo n’amapine yayo n’amasera yayo be n’amabombo yayo, vyose vyari ivyashongeshejwe. 34 Kandi hari ibishigikizo bine ku mfuruka zine z’ishareti imwimwe yose; ibishigikizo vyayo vyari bishongesherejwe hamwe n’ishareti ari ikintu kimwe. 35 Hejuru kw’ishareti hari igitereko gifise amahagarara y’inusu ry’itambwe, c’umuzingi irya n’ino; kandi hejuru kw’ishareti, impande zayo be n’impande zo mu mbavu zayo vyari bihinguranywe na yo ari ikintu kimwe. 36 Vyongeye, ku tubate tw’impande zayo no ku mpande zo mu mbavu zayo asarurako+ abakerubi, intambwe n’amashusho y’ibigazi yisunze ibibanza bigaragara vya rumwerumwe rwose, asarurako n’ibitsibo irya n’ino+. 37 Ukwo ni ko yakoze ya mashareti cumi+; yose yari ashongeshejwe kumwe+, angana, ameze kumwe.
38 Nuko atangura gukora amabesani+ y’umujumpu cumi. Ibesani imwimwe yose yajamwo ingero mirongo ine za bati. Ibesani imwimwe yose yari amatambwe ane. Kw’ishareti imwimwe yose muri ya mashareti cumi hariko ibesani imwe. 39 Maze ashira amashareti atanu ku ruhande rw’iburyo rwa nya nzu, yandi atanu ku ruhande rw’ibubamfu rwa nya nzu+; ikiyaga ubwaco agishira ku ruhande rw’iburyo rwa nya nzu mu buseruko, amaja mu bumanuko+.
40 Hanyuma Hiramu+ akora amabesani+ n’ibiyozo+ n’amabakure+. Amaherezo Hiramu arangiza+ gukora igikorwa cose yakoreye Umwami Salomo ku bijanye n’inzu ya Yehova: 41 Za nkingi zibiri+ na ya mitwe y’inkingi imeze nk’amabakure+ yari hejuru kuri izo nkingi zibiri, na za nsenga zibiri+ zo gupfuka nya mitwe y’inkingi yibumvye yari hejuru kuri izo nkingi, 42 na ya makomamanga+ amajana ane ku bwa za nsenga zibiri, imisitari ibiri y’amakomamanga ku rusenga rumwerumwe rwose, vyo gupfuka nya mitwe y’inkingi ibiri imeze nk’amabakure yari kuri nya nkingi; 43 ya mashareti cumi+ na ya mabesani cumi+ yari kuri ayo mashareti, 44 ca kiyaga+ kimwe rudende na ya mashūri cumi n’abiri yari munsi y’ico kiyaga+; 45 ibigopo na vya biyozo na ya mabakure be na bino bikoresho vyose+, ivyo Hiramu yakoreye Umwami Salomo mu mujumpu usenye, ku bw’inzu ya Yehova. 46 Mu Ntara ya Yorodani+ ni ho umwami yabishongeshereje mw’iforoma y’ibumba, hagati ya Sukoti+ na Zaretani+.
47 Nuko Salomo areka ivyo bikoresho vyose+ ata kubipima kuko vyari vyinshi cane bimwe bidasanzwe+. Ntibasuzuma uburemere bw’umujumpu+. 48 Amaherezo Salomo akora ibikoresho vyose vy’inzu ya Yehova, igicaniro+ c’inzahabu n’imeza+ yo mu nzahabu yariko imikate yerekanwa*, 49 n’ibitereko vy’amatara+, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu imbere y’icumba c’ahitereye, mu nzahabu itavanze+, n’amashurwe+ n’amatara+ n’udupensi+, mu nzahabu, 50 n’amabesani, n’ibizimisho+, n’amabakure+, n’ibikombe+, n’ibijamwo umuriro+, mu nzahabu itavanze, n’utunogo ku bw’imiryango+ y’inzu y’indani, ni ukuvuga, Aheranda Rwose, no ku bw’imiryango+ y’inzu y’urusengero+, mu nzahabu.
51 Amaherezo igikorwa cose Umwami Salomo yabwirizwa gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova kirarangira+; nuko Salomo atangura kwinjiza ibintu Dawidi se wiwe yagize vyeranda+; ifeza n’inzahabu be n’ibintu vyo gukoresha, abishira mu matunga y’inzu ya Yehova+.
8 Ico gihe Salomo+ atangura gukoranya+ abagabo b’inararibonye+ ba Isirayeli, abakuru b’imiryango+ bose, abakuru ba ba se+, ba bene Isirayeli, abakoraniriza ku Mwami Salomo i Yeruzalemu, kugira ngo badugane isandugu y’isezerano+ rya Yehova bayikuye mu Gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+. 2 Nuko abagabo ba Isirayeli bose bakoranira ku Mwami Salomo mu kwezi* kwa Etanimu, mu gihe c’umusi mukuru+, ni ukuvuga ukwezi kugira indwi+. 3 Abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bose baraza rero, maze abaherezi batangura kurerura+ ya Sandugu+. 4 Badugana isandugu ya Yehova n’ihema+ ry’ihuriro+ n’ibikoresho vyeranda vyose vyari muri nya hema; nuko abaherezi n’Abalewi+ barabidugana+. 5 Kandi Umwami Salomo ari kumwe n’ikoraniro rya Isirayeli ryose, abari bubahirije isango bari bahanye na we, bari imbere ya nya Sandugu, bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidashobora guharurwa canke kumenyekana igitigiri kubera ubwinshi+.
6 Maze abaherezi binjiza isandugu+ y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo+, mu cumba c’ahitereye ca ya nzu, Aheranda Rwose, munsi y’amababa ya ba bakerubi+.
7 Kuko nya bakerubi bari bashanje amababa yabo hejuru y’ikibanza c’iyo Sandugu, ku buryo abo bakerubi baguma bakingiririye hejuru nya Sandugu n’iminiho yayo+. 8 Mugabo iyo miniho+ yari miremire, ku buryo imitwe yayo yabonwa n’uwuri Aheranda* imbere y’icumba c’ahitereye, mugabo ntiyabonwa n’uwuri hanze. Iyo miniho ni ho ikiri gushika n’uyu musi+. 9 Nta kintu na kimwe cari muri iyo Sandugu kiretse vya bisate vy’amabuye+ bibiri Musa yari yarashizemwo+ i Horebu, ca gihe Yehova yasezerana+ na bene Isirayeli hamwe bariko bava mu gihugu ca Misiri+.
10 Nuko abaherezi basohotse bavuye ahantu heranda, igicu+ cuzura inzu ya Yehova. 11 Abaherezi+ ntibashobora guhagarara ngo bakore igikorwa cabo+ kubera nya gicu, kuko ubuninahazwa+ bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+. 12 Ico gihe Salomo avuga ati: “Yehova ubwiwe yavuze ko yobaye mu muzimagiza w’umuzitanya+. 13 Narashoboye kukwubakira inzu y’uburaro buhanitse+, ahantu hashimangiye+ kugira ngo uhabe gushika igihe kitagira urugero+.”
14 Maze umwami arahindukira, atangura guhezagira+ ishengero rya Isirayeli ryose, mu gihe iryo shengero rya Isirayeli ryose ryari rihagaze. 15 Hanyuma avuga ati: “Arahezagiwe Yehova+ Imana ya Isirayeli, we yavuganye na Dawidi+ dawe akoresheje akanwa kiwe, kandi agashitsa+ n’ukuboko kwiwe, mu kuvuga ati: 16 ‘Kuva umusi nakura abantu banje Isirayeli mu Misiri, nta gisagara natoye+ mu miryango yose ya Isirayeli ku bwo kwubaka inzu+ kugira ngo izina ryanje+ rigumeyo; mugabo nzotora Dawidi kugira ngo aganze abantu banje Isirayeli+.’ 17 Nuko Dawidi dawe agira icipfuzo mu mutima wiwe co kwubakira inzu izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+. 18 Mugabo Yehova abwira Dawidi dawe ati: ‘Ko wagize icipfuzo mu mutima wawe co kwubakira inzu izina ryanje, wagize neza, kubera ko ivyo vyari ku mutima wawe+. 19 Gusa wewe si we uzokwubaka iyo nzu, ahubwo umuhungu wawe azova muri wewe* ni we azokwubakira inzu izina ryanje+.’ 20 Nuko Yehova atangura gushitsa ijambo ryiwe+ yari yaravuze, kugira ngo mpaguruke mu kibanza ca Dawidi dawe maze nicare ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, nk’uko nyene Yehova yari yaravuze, no kugira ngo nubakire inzu izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+, 21 no kugira ngo nshire ikibanza ng’aho ku bw’Isandugu irimwo isezerano+ rya Yehova, iryo yagiranye na ba sogokuruza bacu igihe yariko abakura mu gihugu ca Misiri.”
22 Nuko Salomo ahagarara imbere y’igicaniro+ ca Yehova, imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose, hanyuma agaranzura ibiganza avyerekeje mu majuru+; 23 maze avuga ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, nta Mana iriho imeze nkawe+ mu majuru hejuru canke kw’isi hasi, wewe ugumya isezerano n’ubuntu bwuzuye urukundo+ ku bijanye n’abasavyi bawe+ bagendera imbere yawe n’umutima wabo wose+, 24 wewe wagumije ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye, ku buryo utanga umuhango n’akanwa kawe, ugashitsa n’ukuboko kwawe, nk’uko biri uyu musi+. 25 None rero, ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nugumye ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye uti: ‘Imbere yanje ntihazobura umugabo wo mu bawe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, abahungu bawe nibakira gusa kwitwararika inzira yabo mu kugendera imbere yanje nk’uko nyene wagendeye imbere yanje.’ 26 None rero, ewe Mana ya Isirayeli, ndakwinginze umuhango+ wahaye umusavyi wawe Dawidi dawe uboneke ko ari uwo kwizigirwa.
27 “Ariko none, Imana izoba vy’ukuri kw’isi+? Ehe amajuru+, egome, ijuru ry’amajuru+, ubwayo ntashobora kugukwira+; nkanswe rero iyi nzu+ nubatse! 28 Mugabo nushire umutima kw’isengesho+ ry’umusavyi wawe n’ugusaba ubutoni kwiwe+, ewe Yehova Mana yanje, kugira wumvirize akamo k’ukwinginga n’isengesho umusavyi wawe ariko atura imbere yawe uno musi+; 29 kugira ngo ugumize amaso yawe+ kuri iyi nzu ijoro n’umurango, aha hantu wavuze ku biherekeye uti: ‘Izina ryanje rizoba ng’aho+,’ kugira wumvirize isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu+. 30 Uze wumvirize ugusaba ubutoni+ kuvuye ku musavyi wawe no ku bantu bawe Isirayeli, ukwo batura berekeje aha hantu; kandi wewe ubwawe uze wumve uri ahantu uba, mu majuru+, uze wumve maze ubabarire+.
31 “Umuntu niyacumura kuri mugenziwe+, maze uno agashira umuvumo kuri we kugira ngo atume aba uwushobora gushikirwa na nya muvumo+, hanyuma akaza ari muri nya muvumo imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu, 32 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ugire ico ukoze, ucire urubanza abasavyi bawe mu kuvuga ko umubisha ari umubisha, mu gushira inzira yiwe ku mutwe wiwe+, no mu kuvuga ko umugororotsi agororotse+ mu kumuha nk’uko ubugororotsi+ bwiwe bwite buri.
33 “Abantu bawe Isirayeli nibatsindwa imbere y’umwansi+, kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bakagaruka koko kuri wewe+, bagahaya izina ryawe+, bagasenga+ kandi bagasaba ubutoni berekeje kuri wewe muri iyi nzu+, 34 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ubabarire igicumuro c’abantu bawe Isirayeli+, hanyuma ubagarukane+ ku butaka wahaye ba sekuruza babo+.
35 “Ijuru niryugarwa ku buryo hataboneka imvura+, kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga koko berekeje aha hantu+, bagahaya izina ryawe, kandi bagahindukira bakava mu gicumuro cabo, kuko uzoba wagumye ubateza amarushwa+, 36 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ubabarire igicumuro c’abasavyi bawe, egome, c’abantu bawe Isirayeli, kuko ubigisha+ inzira nziza bakwiye kugenderamwo+; kandi uze utange imvura+ ku gihugu cawe wahaye abantu bawe ngo kibabere intoranwa.
37 “Nihatera ikigoyi+ mu gihugu, nihatera ikiza+, nihatera ukubabuka kw’ibirimwa, ururyi+, inzige+, inyenzi+; abansi babo nibabugariza mu gihugu c’amarembo yabo—ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’icago, ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’indwara— 38 isengesho iryo ari ryo ryose+, ugusaba ubutoni ukwo ari kwo kwose+ kuzoba kuvuye ku muntu uwo ari we wese canke ku bantu bawe Isirayeli bose+, kuko umwumwe wese azi icago c’umutima wiwe+, maze bakagaranzura koko ibiganza vyabo bavyerekeje kuri iyi nzu+, 39 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru+, ahantu hashimangiye uba+, maze ubabarire+ kandi ugire ico ukoze+, uhe umwumwe wese nk’uko inzira ziwe zose ziri+, kuko uzi umutima wiwe+ (kubera ko ari wewe wenyene uzi umutima w’abana b’abantu bose+); 40 kugira ngo bagutinye+ imisi yose bazoba ari bazima ku buringanire bw’ubutaka wahaye ba sogokuruza bacu+.
41 “Kandi n’umunyamahanga+, atari uwo mu bantu bawe Isirayeli, azoza koko avuye mu gihugu ca kure kubera izina ryawe+ 42 (kuko bazokwumva ivyerekeye izina ryawe rihambaye+ n’ivyerekeye ikiganza cawe gikomeye+ be n’ivyerekeye ukuboko kwawe kuramvuye), akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu+, 43 wewe ubwawe uze wumvirize uri mu majuru, ahantu hashimangiye uba+, maze ukore wisunze ivyo uwo munyamahanga azoba aguhamagariye vyose+; kugira ngo ibisata vyo kw’isi vyose bimenye izina ryawe+ maze bigutinye nk’uko igisata cawe Isirayeli kigutinya, no kugira bimenye yuko izina ryawe ryambarijwe kuri iyi nzu nubatse+.
44 “Abantu bawe nibasohoka bakaja mu ntambara+ kurwanya umwansi wabo mu nzira uzobarungikamwo+, maze bagasenga+ vy’ukuri Yehova berekeje ku gisagara watoye+ no kuri iyi nzu nubakiye izina ryawe+, 45 uze rero wumve uri mu majuru isengesho ryabo n’ugusaba ubutoni kwabo, maze ushitse urubanza ku bwabo+.
46 “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu c’umwansi ca kure canke ca hafi+; 47 maze bakagarura koko ubwenge mu gihugu bazoba batwawemwo ari imbohe+, hanyuma bakagaruka koko kuri wewe+, bakagusaba+ ubutoni mu gihugu c’ababagize imbohe+, mu kuvuga bati: ‘Twaracumuye+ kandi twarahuvye+, twakoze ivy’ububisha+’; 48 bakagaruka koko kuri wewe n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose mu gihugu c’abansi babo babatwaye ari imbohe, maze bakagusenga koko berekeje mu gihugu cabo wahaye ba sekuruza babo, igisagara watoye n’iyi nzu nubakiye izina ryawe+; 49 uze rero wumve uri mu majuru, ahantu hashimangiye uba+, isengesho ryabo n’ugusaba ubutoni kwabo, maze ushitse urubanza ku bwabo+, 50 ubabarire+ abantu bawe bazoba baragucumuyeko+ be n’ibigabitanyo vyabo+ vyose bakugabitanijeko+; uze ubagire abo kwumvirwa akagongwe+ imbere y’ababagize imbohe maze babumvire ikigongwe 51 (kuko ari abantu bawe n’intoranwa yawe+ wakuye mu Misiri+, mw’itanure rishongesha ivyuma+), 52 kugira ngo ugumize amaso yawe ku gusaba ubutoni kw’umusavyi wawe no ku gusaba ubutoni+ kw’abantu bawe Isirayeli, mu kubumviriza mu vyo bazoguhamagarira vyose+. 53 Kuko ari wewe wabatandukanije n’ibisata vy’abantu vyo kw’isi+ vyose kugira ngo babe intoranwa yawe, nk’uko nyene wavuze biciye kuri Musa+ umusavyi wawe, igihe wariko ukura ba sogokuruza bacu mu Misiri, ewe Mukama Segaba Yehova.”
54 Nuko Salomo akirangiza gusenga Yehova akoresheje iryo sengesho ryose n’ukwo gusaba ubutoni kwose, arahaguruka ava imbere y’igicaniro ca Yehova, aho yari apfukamye+ agaranzuye ibiganza avyerekeje mu majuru+; 55 arahagarara+ rero maze ahezagira+ ishengero rya Isirayeli ryose n’ijwi rirenga, mu kuvuga ati: 56 “Hahezagirwe Yehova+, we yahaye abantu biwe Isirayeli ahantu h’ukuruhukira, akurikije ivyo yasezeranye vyose+. Nta jambo na rimwe ritashitse+, mu muhango mwiza wiwe wose yatanze biciye kuri Musa umusavyi wiwe+. 57 Yehova Imana yacu abane natwe+ nk’uko nyene yabanye na ba sogokuruza bacu+. Ese atoduta canke ngo aduhebe+, 58 kugira duhengekere umutima wacu+ kuri we ngo tugendere mu nzira ziwe zose+ kandi tugumye amabwirizwa yiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+ n’ingingo z’ubutungane ziwe+, ivyo yategetse ba sogokuruza bacu. 59 Kandi aya majambo yanje nasabishije ubutoni imbere ya Yehova abe hafi+ ya Yehova Imana yacu ku murango no mw’ijoro, kugira ngo ashitse urubanza ku bw’umusavyi wiwe n’urubanza ku bw’abantu biwe Isirayeli, uko vyokenerwa ku musi+ ku musi; 60 kugira ngo ibisata vy’abantu vyo kw’isi vyose bimenye+ ko Yehova ari we Mana y’ukuri+. Nta yindi iriho+. 61 Kandi umutima wanyu uze ube uwukwiye+ ku vyerekeye Yehova Imana yacu mu kugendera mu ngingo nyobozi ziwe no mu kugumya amabwirizwa yiwe nk’uko biri uyu musi.”
62 Kandi umwami na Isirayeli yose yari kumwe na we bariko bashikana ikimazi gihambaye imbere ya Yehova+. 63 Salomo atangura gushikana ibimazi vy’ugusangira+ yabwirizwa gushikanira Yehova, inka ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri+, kugira ngo umwami na bene Isirayeli bose binjire+ inzu ya Yehova. 64 Kuri uwo musi, biba ngombwa ko umwami yeza igice co hagati c’ikigo kiri imbere y’inzu ya Yehova+, kuko ari ho yabwirizwa gutangira ikimazi giturirwa n’ishikanwa ry’intete n’ibikenye binuze vy’ibimazi vy’ugusangira; kuko igicaniro c’umujumpu+ kiri imbere ya Yehova cari gitoya cane ku buryo kitari gukwiramwo ico kimazi giturirwa, n’iryo shikanwa ry’intete, n’ivyo bikenye binuze+ vy’ibimazi vy’ugusangira. 65 Nuko ico gihe Salomo ahimbariza imbere ya Yehova Imana yacu umusi mukuru+, ari kumwe na Isirayeli yose, ishengero rinini+, kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku mwonga wa Misiri+, amara imisi indwi be n’iyindi misi indwi+, ni ukuvuga imisi cumi n’ine. 66 Ku musi ugira umunani arungika abantu+; nuko batangura guhezagira umwami maze baja i muhira iwabo, banezerewe+ kandi baryohewe mu mutima+ kubera ineza+ yose Yehova yari yaragiriye Dawidi umusavyi wiwe na Isirayeli abantu biwe.
9 Nuko Salomo akimara kurangiza kwubaka inzu+ ya Yehova n’inzu y’umwami+ n’ikintu gihimbaye cose ca Salomo, ico yahimbawe no gukora+, 2 Yehova abonekera rero Salomo ubugira kabiri, nk’uko yari yaramubonekeye i Gibeyoni+. 3 Maze Yehova amubwira ati: “Numvise isengesho+ ryawe n’ugusaba ubutoni kwawe wasabishije ubutoni imbere yanje. Nejeje+ iyi nzu wubatse mu kuyishiramwo izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero; kandi ata gukeka amaso yanje+ n’umutima wanje bizokwama biri ng’aho+. 4 Nawe niwagendera+ imbere yanje, nk’uko Dawidi+ so yagenze, ukagendana ugutungana*+ kw’umutima be n’ukugororoka+, mu gukora wisunze ivyo nagutegetse+ vyose, ukongera ukagumya ingingo nyobozi zanje+ n’ingingo zanje z’ubutungane+, 5 nanje rero nzoshinga koko intebe y’ubwami bwawe kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero, nk’uko nyene nasezeraniye Dawidi so nti: ‘Ntihazobura umugabo mu bawe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’ 6 Mwebwe ubwanyu n’abahungu banyu nimwasubira inyuma koko mukareka kunkurikira+, ntimugumye amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje nashize imbere yanyu, hanyuma mukagenda vy’ukuri mugakorera izindi mana+, mukazunamira, 7 nzorandura rero Isirayeli ku buringanire bw’ubutaka nayihaye+; kandi inzu nereje izina ryanje nzoyita imve imbere+, kandi Isirayeli izocika iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose. 8 Iyi nzu na yo izocika ibirundo vy’ibihomvagurike+. Uwuzoyica iruhande wese azoraba yumiwe+, avuze koko agahwa, avuge ati: ‘Ni kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gihugu n’iyi nzu+?’ 9 Maze bazovuga ata kabuza bati: ‘Ni kubera ko bahevye Yehova Imana yabo yari yarakuye ba sekuruza babo mu gihugu ca Misiri+, bagatangura kwifatanya n’izindi mana+, bakazunamira bakazikorera. Ni co catumye Yehova abazanako ibi vyago vyose+.’”
10 Nuko hashize imyaka mirongo ibiri, iyo Salomo yubatsemwo ya mazu abiri, inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+ 11 (Hiramu+ umwami wa Tiro ubwiwe yari yarasahirije Salomo+ mu kumuha ibiti vy’amasederi n’ibiti vy’imiberoshi be n’inzahabu, ivyamuhimbara vyose+): ico gihe Umwami Salomo aha Hiramu ibisagara mirongo ibiri mu gihugu ca Galilaya+. 12 Nuko Hiramu ava i Tiro kugira ngo aje kuraba nya bisagara Salomo yari yamuhaye, mugabo ntivyaba ibibereye mu maso yiwe+. 13 Avuga rero ati: “Ibi bisagara wampaye ni bwoko ki ga mwene wacu?” Nuko bavyita Igihugu ca Kabuli* gushika n’uyu musi.
14 Muri ico gihe Hiramu arungikira umwami italanto z’inzahabu ijana na mirongo ibiri+.
15 Iyi ni yo nkuru yerekeye abagenewe ibikorwa vy’agahato+ Umwami Salomo yararitse kwubaka inzu ya Yehova+ n’inzu yiwe n’Ikidunduri+ n’uruhome+ rwa Yeruzalemu na Hazori+ na Megido+ na Gezeri+. 16 (Farawo umwami wa Misiri yari yaraduze hanyuma afata Gezeri ayituriza umuriro, kandi Abanyakanani+ baba muri ico gisagara yari yarabishe. Agiha rero umukobwa wiwe+, umugore wa Salomo, bwa ngabirano y’agasaga.) 17 Nuko Salomo yubaka Gezeri na Beti-horoni yo Hepfo+, 18 na Bayalati+ na Tamari mu gahinga, mu gihugu, 19 n’ibisagara vy’ububiko+ vyose vyacitse ivya Salomo, n’ibisagara vy’imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi, n’ibintu bihimbaye vya Salomo+, ivyo yari yaripfuje kwubaka i Yeruzalemu n’i Libani no mu gihugu cose yaganza. 20 Nayo abantu bose bari basigaye ku Bamori+, ku Baheti+, ku Baperizi+, ku Bahiwi+ no ku Bayebusi+, abatari abo muri bene Isirayeli+, 21 abahungu babo bari barasigaye mu gihugu mu nyuma zabo, abo bene Isirayeli batari barashoboye gutikiza+, Salomo aguma abararika gukora ibikorwa vy’agahato vy’ubushumba gushika n’uyu musi+. 22 Ariko nta n’umwe muri bene Isirayeli Salomo yagize umushumba+; kuko bari abarwanyi n’abasuku biwe n’abaganwa biwe n’ibisongerezi vyiwe n’abakuru b’abatwara imikogote biwe n’ab’abagendera ku mafarasi biwe+. 23 Aba ni bo bari abakuru b’ivyariho bahagarikira igikorwa ca Salomo: abantu amajana atanu na mirongo itanu, bakaba bari abahagarikizi b’abantu bakora ico gikorwa+.
24 Ariko umukobwa wa Farawo+ araduga avuye mu Gisagara ca Dawidi+, aja ku nzu yiwe Salomo yari yaramwubakiye. Ico gihe ni ho Salomo yubaka Ikidunduri+.
25 Nuko Salomo abandanya gushikana gatatu+ mu mwaka ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira ku gicaniro yari yarubakiye Yehova+, kandi barafumbisha umwotsi w’ibimazi kuri ico gicaniro+, icari imbere ya Yehova; nuko arangiza nya nzu+.
26 Kandi Umwami Salomo akora umugwi w’imeri i Eziyoni-geberi+, ahari hafi ya Eloti+, ku nkengera y’ikiyaga Gitukura, mu gihugu ca Edomu+. 27 Kandi Hiramu yaguma arungika muri uwo mugwi w’imeri abasuku biwe+, abasoza ubwato, bazi ikiyaga, akabarungikana n’abasuku ba Salomo. 28 Nuko baja i Ofiri+, bakurayo italanto amajana ane na mirongo ibiri z’inzahabu+, bazizanira Umwami Salomo.
10 Kandi umwamikazi wa Sheba+ yarumva inkuru yerekeye Salomo ku bijanye n’izina rya Yehova+. Aza rero kumugeza n’ibibazo bigoye+. 2 Amaherezo ashika i Yeruzalemu ari kumwe n’umurongo w’akumiza rwose umuherekeje+, n’ingamiya+ zitwaye amavuta y’umusomozo*+ n’inzahabu nyinshi cane n’amabuye y’agaciro; nuko yinjira kwa Salomo maze atangura kumubwira ivyari bimuri ku mutima vyose+. 3 Salomo na we amwishura ibibazo vyiwe vyose+. Nta kibazo na kimwe cananiye umwami ngo ntakimwishure+.
4 Umwamikazi wa Sheba abonye ubukerebutsi bwose bwa Salomo+ n’inzu yari yarubatse+, 5 n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abasuku biwe bari bicaye, n’igikorwa co ku meza c’abaserevyi biwe n’inyambaro yabo, n’ibinyobwa vyiwe+, n’ibimazi biturirwa vyiwe yama ashikana ku nzu ya Yehova, aca arajorerwa*+. 6 Nuko abwira umwami ati: “Ijambo numvise mu gihugu canje ku vyawe no ku bukerebutsi bwawe+, ryari iry’ukuri. 7 Sinemeye nya majambo gushika nje kugira ngo amaso yanje bwite avyibonere; none nsanze ata n’ica kabiri bambwiye+. Mu bukerebutsi no mu gutunganirwa wararenganye ibintu numvise+. 8 Hahiriwe abantu bawe+; hahiriwe+ aba basuku bawe bama bahagarara imbere yawe, bumviriza ubukerebutsi bwawe+! 9 Yehova Imana yawe ahezagirwe+, we yahimbawe+ nawe mu kugushira ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+; kuko Yehova akunda Isirayeli gushika igihe kitagira urugero+, ku buryo yakugize umwami+ kugira ushitse ingingo y’ubutungane+ be n’ubugororotsi+.”
10 Maze aha+ umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu+ n’amavuta y’umusomozo+ menshi cane be n’amabuye y’agaciro. Ntihigeze hasubira kuza amavuta y’umusomozo angana n’ayo umwamikazi wa Sheba yahaye Umwami Salomo.
11 Kandi umugwi w’imeri za Hiramu+ wazana inzahabu uzikuye i Ofiri+, warakura i Ofiri n’ibiti vya alugumu+ vyinshi cane be n’amabuye y’agaciro+. 12 Umwami atangura gukora muri ivyo biti vya alugumu ibishigikizo vy’inzu ya Yehova+ n’ivy’inzu y’umwami, n’inanga+ be n’ibicurarangisho vy’imirya+ vy’abaririmvyi. Ibiti vya alugumu nk’ivyo ntivyigeze kuza canke ngo biboneke gushika n’uyu musi.
13 Umwami Salomo na we aha umwamikazi wa Sheba ivyamuhimbara vyose yasavye, hatarimwo ivyo yamuhaye nk’uko ugutanga kwa cane+ kw’Umwami Salomo kwari. Inyuma y’ivyo arahindukira, aja mu gihugu ciwe, we hamwe n’abasuku biwe+.
14 Uburemere bw’inzahabu+ zaza kwa Salomo mu mwaka umwe bwangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu+, 15 hatarimwo ivyazanwa n’abagabo b’ingenzi be n’inyungu yava ku bacuruza, n’ivyava ku bami+ bose b’Abarabu+ no kuri ba buramatari b’igihugu.
16 Umwami Salomo akora inkinzo zagutse amajana abiri mu nzahabu ivanze+ (imwimwe yose muri izo nkinzo zagutse ayishirako shekeli amajana atandatu z’inzahabu+), 17 akora n’udukinzo amajana atatu mu nzahabu ivanze (agakinzo kamwekamwe kose agashirako imina zitatu z’inzahabu+). Maze umwami abishira muri ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+.
18 Vyongeye, umwami akora intebe y’ubwami+ y’amasenge ihambaye+, ayihomekako inzahabu ityoroye+. 19 Hariho ingazi zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, kandi iyo ntebe y’ubwami yari ifise inyuma akarenzo kihese, hakabaho n’aho gushira amaboko hino no hirya iruhande y’aho kwicara, hakaba n’intambwe+ zibiri iruhande y’aho hantu ho gushira amaboko+. 20 Kandi hariho intambwe cumi na zibiri zari ng’aho kuri nya ngazi zitandatu, irya n’ino. Nta bundi bwami bwari bufise intebe y’ubwami ikozwe nka yo+.
21 Ivyombo vyo kunyweramwo vyose vy’Umwami Salomo vyari ivyo mu nzahabu, kandi ivyombo vyose vya ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+ vyari ivyo mu nzahabu itavanze+. Nta kintu na kimwe co mw’ifeza cariho; ifeza yabonwa nk’ubusa mu misi ya Salomo. 22 Kuko umwami yari afise ku kiyaga umugwi w’imeri w’i Tarushishi+ wari kumwe n’umugwi w’imeri za Hiramu. Rimwe mu myaka itatu, nya mugwi w’imeri w’i Tarushishi waraza uzanye inzahabu+ n’ifeza, amasenge+, n’inkende be n’ibinyoni vyitwa tawusi.
23 Gutyo Umwami Salomo aba uwuhambaye mu butunzi+ no mu bukerebutsi+ kuruta abandi bami bose bo kw’isi. 24 Kandi abantu bose bo kw’isi bararondera mu maso ha Salomo kugira bumve ubukerebutsi bwiwe Imana yari yarashize mu mutima wiwe+. 25 Barazana umwe wese ingabirano yiwe+: ibintu vy’ifeza+ n’ibintu vy’inzahabu n’impuzu n’ibirwanisho+ n’amavuta y’umusomozo, amafarasi n’inyumpu+, ivyo bakabwirizwa kubigira buri mwaka+.
26 Salomo aguma akoranya imikogote n’amafarasi y’imbangutsi vyiyongereye; arahava agira imikogote igihumbi n’amajana ane n’amafarasi y’imbangutsi+ ibihumbi cumi na bibiri; abishira mu bisagara vy’imikogote no hafi y’umwami i Yeruzalemu+.
27 Amafeza umwami ayagira nk’amabuye i Yeruzalemu+, ibiti vy’amasederi na vyo abigira nk’ibiti vy’imisukomora biri muri Shefela*, mu bwinshi+.
28 Amafarasi Salomo yaronka yakurwa mu Misiri; umugwi w’abadandaza b’umwami waratora ubusho bw’amafarasi ku kiguzi+. 29 Mu bisanzwe umukogote waraduga, ukaba wakurwa mu Misiri ku bice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo kw’ijana na mirongo itanu; ukwo ni ko vyagenda ku bami bose b’Abaheti+ n’abami ba Siriya. Ivyo bintu babikurayo biciye kuri bo.
11 Nuko Umwami Salomo akunda abagore benshi b’abanyamahangakazi+ hampande y’umukobwa wa Farawo+: Abanyamowabukazi+, Abamonikazi+, Abanyedomukazi+, Abanyasidonikazi+, n’Abahetikazi+, 2 bo mu mahanga Yehova yari yarabwiye bene Isirayeli ku biyerekeye ati: “Ntimuze mwinjire muri bo+, kandi na bo ubwabo ntibaze binjire muri mwebwe; vy’ukuri, bazohengekera umutima wanyu ku gukurikira imana zabo+.” Abo ni bo Salomo yumiyeko+, arabakunda. 3 Agira abagore amajana indwi, abaganwakazi, n’incoreke amajana atatu; buhorobuhoro+, abagore biwe bahengekera umutima wiwe ahandi. 4 Mu gihe c’ubusaza bwa Salomo+, abagore biwe bari barahengekeye+ umutima wiwe ku gukurikira izindi mana+; nuko umutima wiwe ntiwaba uwukwiye+ ku vyerekeye Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi se wiwe. 5 Maze Salomo atangura gukurikira Ashitoreti+ imanakazi y’Abanyasidoni no gukurikira Milikomu+ ikintu gisesemye c’Abamoni. 6 Salomo atangura gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova, ntiyakurikira Yehova bimwe bishitse, nka Dawidi se wiwe+.
7 Ico gihe ni ho Salomo yatangura kwubakira ikibanza gikirurutse+ Kemoshi+ ikintu gisesemye+ ca Mowabu ku musozi+ wari imbere+ ya Yeruzalemu, na Moleki ikintu gisesemye ca bene Amoni. 8 Ukwo ni ko yagiriye abagore biwe bose b’abanyamahangakazi+ bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi imana zabo bakongera bakazishikanira ibimazi+.
9 Nuko Yehova arurumbira ishavu+ Salomo, kuko umutima wiwe wari warahengamiye kure ya Yehova Imana ya Isirayeli+, uwari yaramubonekeye incuro zibiri+. 10 Kandi ku bijanye n’ico kintu, yari yamutegetse kudakurikira izindi mana+; mugabo ntiyari yaragumije ico Yehova yari yarategetse. 11 Nuko Yehova abwira Salomo ati: “Kubera ko vyakugendeye gutyo, ntugumye isezerano ryanje n’ivyagezwe vyanje nagutegetse, nzogushikura ubwami ata kabuza, ndabuhe koko umusuku wawe+. 12 Ariko sinzobikora mu misi yawe+, kubera Dawidi so wawe+. Nzobushikura mu kuboko kw’umuhungu wawe+. 13 Ariko sinzoshikura ubwami bwose+. Umuryango umwe nzowuha umuhungu wawe, kubera Dawidi umusavyi wanje+ no kubera Yeruzalemu natoye+.”
14 Maze Yehova ahagurukiriza Salomo+ uwo kumurwanya+, ari we Hadadi Umwedomu wo mu ruvyaro rw’umwami. Yari muri Edomu+. 15 Ibi ni vyo vyabaye: igihe Dawidi yagarika Edomu+, hamwe Yowabu umukuru w’ingabo yaduga guhamba abagandaguwe, agerageza kugarika uw’igitsina-gabo wese muri Edomu+. 16 (Kuko Yowabu na Isirayeli yose babaye ng’aho amezi atandatu, gushika aho amariye kurandura uw’igitsina-gabo wese muri Edomu.) 17 Mugabo Hadadi arahunga, ari kumwe n’abagabo b’Abanyedomu bakeyi bo mu basuku ba se wiwe, kugira ngo baje mu Misiri, igihe Hadadi yari agahungu gatoyi. 18 Barahaguruka rero bavuye i Midiyani+, baja i Parani maze bahitana abagabo b’i Parani+ baraheza baja mu Misiri kwa Farawo umwami wa Misiri, uno aca amuha inzu. Amugenera kandi umukate, amuha n’igihugu. 19 Hadadi abandanya kugira ubutoni+ mu maso ya Farawo ku buryo amuha umugore+, mwene wabo n’umugore wiwe, mwene wabo na Tahupenesi umugore w’iteka. 20 Mu nyuma, mwene wabo na Tahupenesi amuvyarira Genubati umuhungu wiwe, maze Tahupenesi amucukiriza+ mu nzu ya Farawo; Genubati abandanya kuba mu nzu ya Farawo, mu bana ba Farawo.
21 Hadadi yumva mu Misiri yuko Dawidi yari yararyamye hamwe na ba sekuruza biwe+ be n’uko Yowabu umukuru w’ingabo yari yarapfuye+. Hadadi abwira rero Farawo ati: “Ndungika+, nje mu gihugu canje bwite.” 22 Mugabo Farawo amubwira ati: “Ukenye iki kuva igihe ubereye kumwe nanje, ku buryo ubu uriko urondera kuja mu gihugu cawe?” Na we avuga ati: “Nta na kimwe; mugabo ubwirizwa kundungika ata kabuza.”
23 Hanyuma Imana imuhagurukiriza uwundi wo kumurwanya+, ari we Rezoni mwene Eliyada, yari yarahunze avuye kwa Hadadezeri+ umwami wa Zoba+, umukama wiwe. 24 Aguma yegeraniriza abagabo ku ruhande rwiwe maze aba umukuru w’akagwi k’abambuzi, igihe Dawidi yica abantu b’i Zoba+. Baja rero i Damasiko+ hanyuma babayo, maze batangura kuganza i Damasiko. 25 Nuko aba uwurwanya Isirayeli imisi yose ya Salomo+, ivyo abigira iruhande y’ikibi Hadadi yakoze; azinukwa+ Isirayeli mu gihe nyene yaganza Siriya.
26 Haba kandi Yerobowamu+ mwene Nebati Umwefurayimu w’i Zereda, umusuku wa Salomo+, nyina akaba yitwa Zeruwa, umugore w’umupfakazi. Na we nyene atangura kubangurira ukuboko umwami+. 27 Iki ni co catumye abangurira ukuboko umwami: Salomo ubwiwe yari yarubatse Ikidunduri+. Yari yarazibiye igihengeri c’uruhome rw’Igisagara ca Dawidi se wiwe+. 28 Kandi uwo mugabo Yerobowamu yari umugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi+. Salomo abonye ko uwo musore ari umukozi akora cane+, amugira umucungezi+ w’igikorwa c’agahato+ cose c’inzu ya Yozefu+. 29 Nuko ico gihe nyene, Yerobowamu ubwiwe arasohoka avuye i Yeruzalemu, maze Ahiya+ Umunyashilo+ umuhanuzi amusanga ku nzira, Ahiya akaba yari yipfutse impuzu nshasha; abo babiri bari bonyene mu gahinga. 30 Nuko Ahiya afata nya mpuzu nshasha yari kuri we maze ayitaburamwo+ ibipande cumi na babiri+. 31 Hanyuma abwira Yerobowamu ati:
“Itorere ibipande cumi; kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ehe nshikuye ubwami mu kuboko kwa Salomo, kandi nzoguha ata gukeka imiryango cumi+. 32 Umuryango umwe+ ni wo uzobandanya kuba uwiwe kubera umusavyi wanje Dawidi+ no kubera Yeruzalemu+, igisagara natoye mu miryango ya Isirayeli yose. 33 Ikibitumye ni uko bantaye+, bagatangura kwunamira Ashitoreti+ imanakazi y’Abanyasidoni, Kemoshi+ imana ya Mowabu na Milikomu+ imana ya bene Amoni; kandi ntibagendeye mu nzira zanje mu gukora ibigororotse mu maso yanje no mu kugumya ivyagezwe vyanje n’ingingo z’ubutungane zanje, nka Dawidi se wiwe. 34 Mugabo sinzokura ubwami bwose mu kuboko kwiwe, kuko nzomugira umukuru imisi yose y’ubuzima bwiwe, kubera Dawidi umusavyi wanje natoye+, kuko yagumije amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje. 35 Kandi nzokura koko ingoma mu kuboko kw’umuhungu wiwe ndayiguhe, egome imiryango cumi+. 36 Umuhungu wiwe nzomuha umuryango umwe, kugira ngo Dawidi umusavyi wanje abandanye kugira itara imbere yanje i Yeruzalemu+, igisagara nitoreye ngo ndahashire izina ryanje+. 37 Kandi ni wewe nzotora, uganze koko abo umutima wawe uhahamiye bose+, ube ata gukeka umwami wo kuganza Isirayeli. 38 Kandi niwagamburuka ivyo nzogutegeka vyose, ukagendera koko mu nzira zanje ukongera ugakora ibigororotse mu maso yanje mu kugumya ivyagezwe vyanje n’amabwirizwa yanje, nk’uko nyene Dawidi umusavyi wanje yagize+, nzoba rero kumwe nawe+, kandi nzokwubakira inzu iramba, nk’uko nyene nubakiye Dawidi+, kandi nzoguha Isirayeli. 39 Nzotetereza uruvyaro rwa Dawidi kubera ivyo+, mugabo atari imisi yose+.’”
40 Maze Salomo atangura kurondera kwica Yerobowamu+. Nuko Yerobowamu arahaguruka, ahungira+ mu Misiri kwa Shishaki+ umwami wa Misiri, aguma mu Misiri gushika Salomo apfuye.
41 Nayo ibisigaye mu vya Salomo n’ivyo yakoze vyose n’ubukerebutsi bwiwe, none ntivyanditswe mu gitabu c’ivya Salomo? 42 Imisi Salomo yaganje Isirayeli yose i Yeruzalemu yabaye imyaka mirongo ine+. 43 Maze Salomo aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, hanyuma ahambwa mu Gisagara ca Dawidi+ se wiwe; Rehobowamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
12 Nuko Rehobowamu+ aja i Shekemu, kuko i Shekemu+ ari ho Isirayeli yose yari yaje kumugirira umwami. 2 Yerobowamu+ mwene Nebati akivyumva, mu gihe yari akiri mu Misiri (kuko Yerobowamu yaba mu Misiri kuko yari yarahunze kubera Umwami Salomo+), 3 baca batuma kumuhamagara. Hanyuma Yerobowamu n’ishengero rya Isirayeli ryose baraza, batangura kubwira Rehobowamu bati+: 4 “So wawe yatumye ingǒgo yacu iba iyigumye, none rero wewe nuturemurure+ igikorwa kigumye ca so wawe n’ingǒgo* yiwe iremereye+ yadushizeko, natwe tuzogukorera+.”
5 Na we ababwira ati: “Nimugende mumare imisi itatu hanyuma mugaruke aho ndi+.” Nuko abantu baragenda. 6 Maze Umwami Rehobowamu agisha inama abagabo b’inararibonye+ bari barakoreye Salomo se wiwe akiri muzima, ati: “Muhanuye gute ngo nishure aba bantu+?” 7 Nuko bamubwira bati: “Uyu musi niwerekana ko uri umusuku w’aba bantu, ukabasukurira koko+, ubishure rero kandi ubabwire ukoresheje amajambo meza+; na bo ntibazobura kuba abasuku bawe nantaryo+.”
8 Ariko areka impanuro abagabo b’inararibonye bari bamuhanuye, maze atangura kugisha inama imisore yari yarakuranye na we+ yamukorera+. 9 Ayibwira ati: “Mutanze impanuro nyabaki+ ngo twishure aba bantu bambwiye bati: ‘Nuremurure ingǒgo so wawe yadushizeko+?” 10 Nuko nya misore yari yarakuranye na we imubwira iti: “Ibi ni vyo uzobwira+ abo bantu bakubwiye ngo: ‘So wawe yatumye ingǒgo yacu iremera, mugabo weho, nuyituremurure’; uze ubabwire uti: ‘Urutoke rwanje rw’uruhererezi ruzoba koko runini kuruta mu mafyinga ha dawe+. 11 Ubu rero, dawe yabaremetse ingǒgo iremereye; mugabo jewe, nzokwongera ku ngǒgo yanyu+. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe, nzobahanisha ibishishaguzo+.’”
12 Hanyuma Yerobowamu n’abantu bose baza kuri Rehobowamu ku musi ugira gatatu, nk’uko umwami yari yavuze, ati: “Mugaruke aho ndi ku musi ugira gatatu+.” 13 Nuko umwami yishurana abantu ugukara+, areka impanuro abagabo b’inararibonye bari bamuhanuye+. 14 Maze ababwira yisunze impanuro ya nya misore+, ati: “Dawe yatumye ingǒgo yanyu iba iyiremereye; mugabo jewe, nzokwongera ku ngǒgo yanyu. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe, nzobahanisha ibishishaguzo+.” 15 Nuko umwami ntiyumviriza abantu+, kuko ukwo guhinduka kw’ibintu kwari kuvuye kuri Yehova+, kugira ngo ashitse koko ijambo ryiwe+, iryo Yehova yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati biciye kuri Ahiya+ Umunyashilo.
16 Isirayeli yose ibonye yuko umwami atabumvirije, abantu baca bishura umwami bati: “Ni umuturi nyabaki dufise muri Dawidi+? Kandi nta ntoranwa iri muri mwene Yese. Ku mana zawe+, ewe Isirayeli! Ubu rero niwitwararike inzu yawe, ewe Dawidi+!” Isirayeli ica yigira ku mahema yayo. 17 Nayo bene Isirayeli baba mu bisagara vya Yuda, Rehobowamu abandanya kubaganza+.
18 Inyuma y’aho, Umwami Rehobowamu arungika Adoramu+, uwagaba abagenewe ibikorwa vy’agahato+, mugabo Isirayeli yose imutera amabuye+, arapfa. Umwami Rehobowamu we, biramukundira kwurira mu mukogote kugira ngo ahungire i Yeruzalemu. 19 Abisirayeli babandanya kugarariza+ inzu ya Dawidi gushika n’uyu musi+.
20 Isirayeli yose ikimara kwumva ko Yerobowamu yagarutse, baca batuma kumuhamagara ngo aze kw’ikoraniro maze bamugira umwami wa Isirayeli yose+. Nta n’umwe yakurikiye inzu ya Dawidi kiretse umuryango wa Yuda wonyene+.
21 Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu+, aca akoranya inzu ya Yuda yose n’umuryango wa Benyamini+, abagabo b’abahizi ibihumbi ijana na mirongo umunani bashoboye intambara, kugira barwanye inzu ya Isirayeli, ngo bagarukanire ingoma Rehobowamu mwene Salomo. 22 Maze ijambo ry’Imana y’ukuri riza kuri Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri+, riti: 23 “Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami wa Yuda, n’inzu ya Yuda yose na Benyamini n’abasigaye bo mu bantu, uti: 24 ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimuduge kurwanya bene wanyu, bene Isirayeli+. Umwe wese nasubire ku nzu yiwe, kuko ari jewe natumye ico kintu kiba+.”’” Nuko bagamburuka ijambo rya Yehova+, basubira i muhira nk’uko Yehova yari avuze+.
25 Yerobowamu yubaka Shekemu+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu maze abayo. Hanyuma aragenda ava ng’aho, yubaka Penuweli+. 26 Yerobowamu atangura kuvuga mu mutima wiwe+ ati: “Ubu rero ubwami bugiye gusubira ku nzu ya Dawidi+. 27 Aba bantu nibabandanya kuduga guhereza ibimazi mu nzu ya Yehova i Yeruzalemu+, umutima w’aba bantu ntuzobura rero gusubira ku mukama wabo, Rehobowamu umwami wa Yuda; kandi bazonyica ata gukeka+ hanyuma basubire kuri Rehobowamu umwami wa Yuda.” 28 Nuko umwami agisha inama+ maze akora inyana zibiri z’inzahabu+ hanyuma abwira abantu ati: “Birarenze urugero kuri mwebwe kuduga i Yeruzalemu. Ng’iyi Imana yawe+, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri+.” 29 Maze imwe ayishira i Beteli+, iyindi na yo ayishira i Dani+. 30 Ico kintu kiba imvo y’igicumuro+, maze abantu batangura kuja imbere y’imwe muri zo, gushika i Dani.
31 Nuko akora inzu yo mu bibanza bikirurutse+ kandi afata abo mu bantu basanzwe, batari abo muri bene Lewi, abagira abaherezi+. 32 Hanyuma Yerobowamu agira umusi mukuru mu kwezi kugira umunani, ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwo kwezi, umeze nk’umusi mukuru wari muri Yuda+, kugira ngo ashikane amashikanwa ku gicaniro yari yarakoze i Beteli, ngo ashikanire ibimazi za nyana yari yarakoze; nuko i Beteli+ ashiraho abaherezi b’ibibanza bikirurutse yari yarakoze. 33 Atangura rero gushikana amashikanwa ku gicaniro yari yarakoze i Beteli, ku musi ugira cumi na gatanu, mu kwezi kugira umunani, mu kwezi yari yarigeneye+; atangura kugirira umusi mukuru bene Isirayeli no gushikana amashikanwa kuri nya gicaniro kugira ngo afumbishe umwotsi w’ibimazi+.
13 Kandi ehe, hari umuntu+ w’Imana yari yaje i Beteli avuye muri Yuda, bivuye kw’ijambo+ rya Yehova, mu gihe Yerobowamu yari ahagaze iruhande y’igicaniro+ kugira ngo afumbishe umwotsi w’ibimazi+. 2 Maze asemerera abwira nya gicaniro, bivuye kw’ijambo rya Yehova, ati: “Ewe wa gicaniro, wa gicaniro! Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe umuhungu agiye kuvukira inzu ya Dawidi, izina ryiwe rikaba ari Yosiya+! Ata gukeka azoshikanira kuri wewe abaherezi b’ibibanza bikirurutse bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi kuri wewe, aturirire n’amagufa y’abantu kuri wewe+.’” 3 Nuko atanga ikimenyamenya+ kuri uwo musi, mu kuvuga ati: “Iki ni co kimenyamenya Yehova avuze: Ehe iki gicaniro kigira gisaduke, kandi iminyota irimwo ibinure iri kuri co iraseseka ata kabuza.”
4 Umwami Yerobowamu akimara kwumva ijambo ry’uwo muntu w’Imana y’ukuri yari asemereye abwira nya gicaniro i Beteli, aca atuma ukuboko agukuye ku gicaniro, avuga ati: “Nimumucakire+!” Ubwo nyene ukuboko kwiwe yari atumye kuri we guca kuranyunyuka, ntiyashobora kukwigarukanako+. 5 Nuko nya gicaniro kirasaduka, ku buryo iminyota irimwo ibinure iseseka ivuye kuri ico gicaniro, nk’uko nya kimenyamenya wa muntu w’Imana y’ukuri yari yatanze bivuye kw’ijambo rya Yehova cari+.
6 Nuko umwami abwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: “Ndakwinginze utakambire* Yehova Imana yawe, usenge ku bwanje kugira ngo nsubizwe ukuboko kwanje+.” Nya muntu w’Imana y’ukuri aca atakambira+ Yehova, ku buryo umwami asubizwa ukuboko kwiwe, gusubira kumera nk’ubwa mbere+. 7 Umwami abandanya kubwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: “Ndakwinginze ujane nanje i muhira, ugire ico ufashe+, kandi ndaguhe ingabirano+.” 8 Mugabo nya muntu w’Imana y’ukuri abwira umwami ati: “Naho wompa ica kabiri c’inzu yawe+ sinojana nawe+, ngo ndire umukate canke nywere amazi aha hantu. 9 Kuko ukwo ari ko yantegetse bivuye kw’ijambo rya Yehova, mu kuvuga ati: ‘Ntuze urye umukate+ canke ngo unywe amazi, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wajanye.’” 10 Ajana rero iyindi nzira, ntiyasubira inyuma aciye mu nzira yari yazananye mu kuza i Beteli.
11 Kandi hari umuhanuzi+ ashaje yaba i Beteli; nuko abahungu biwe baza kumwiganira igikorwa cose nya muntu w’Imana y’ukuri yari yakoze uwo musi i Beteli be n’amajambo yari yabwiye umwami; bavyiganira rero se. 12 Maze se ababwira ati: “None yajanye iyihe nzira?” Nuko abahungu biwe bamwereka inzira nya muntu w’Imana y’ukuri yari yavuye muri Yuda yari yajanye. 13 Maze abwira abahungu biwe ati: “Nimunshirire itandiko ku ndogobwa.” Bamushirira rero itandiko ku ndogobwa+, na we ayurirako.
14 Hanyuma akurikira wa muntu w’Imana y’ukuri, amusanga yicaye munsi y’igiti kinini+. Maze amubwira ati: “Woba uri wa muntu w’Imana y’ukuri yavuye muri Yuda+?” Na we ati: “Ndi we.” 15 Abandanya kumubwira ati: “Ingo tujane i muhira maze urye umukate.” 16 Mugabo avuga ati: “Sinshobora gusubirana inyuma nawe canke ngo ninjirane nawe, kandi sinshobora gusangirira nawe aha hantu ngo ndaharire umukate canke ndahanywere amazi+. 17 Kuko nabwiwe bivuye kw’ijambo rya Yehova+ ngo: ‘Ntuze urire umukate canke ngo unywere amazi ng’aho. Ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wajanye+.’” 18 Aca amubwira ati: “Nanje ndi umuhanuzi nkawe, kandi umumarayika+ yavuganye nanje bivuye kw’ijambo rya Yehova, avuga ati: ‘Mugarure agarukane nawe ku nzu yawe kugira ngo arye umukate, anywe n’amazi.’” (Yariko aramuhenda+.) 19 Asubirana inyuma na we rero kugira ngo arire umukate mu nzu yiwe, anywe n’amazi+.
20 Nuko igihe bari bicaye ku meza, ijambo+ rya Yehova riza kuri nya muhanuzi yari yamugarukanye; 21 maze atangura gusemerera abwira nya muntu w’Imana y’ukuri yari yavuye muri Yuda ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ko wagararije+ itegeko rya Yehova, ntugumye ibwirizwa Yehova Imana yawe yagutegetse+, 22 mugabo ugasubira inyuma kugira ngo urire umukate kandi unywere amazi ahantu yakubwiye ati: “Nturye umukate canke ngo unywe amazi,” umuvyimba wawe ntuzokwinjira mw’itongo ryo guhambamwo rya ba sokuruza bawe+.’”
23 Nuko amaze kurya umukate akamara no kunywa, aca amushirira itandiko ku ndogobwa, ni ukuvuga arishirirako wa muhanuzi yari yagarukanye. 24 Maze uno afata inzira. Mu nyuma intambwe+ imusanga ku nzira, iramwica+ hanyuma umuvyimba wiwe utererwa muri nya nzira. Nya ndogobwa yari ihagaze iruhande yawo, na nya ntambwe yari ihagaze iruhande ya nya muvyimba. 25 Kandi ehe abantu bariko bararengana, maze babona nya muvyimba waterewe mu nzira na nya ntambwe ihagaze iruhande y’uwo muvyimba. Nuko baza kubivuga mu gisagara nya muhanuzi ashaje yabamwo.
26 Nya muhanuzi yari yamugaruriye mu nzira avyumvise, aca avuga ati: “Ni wa muntu w’Imana y’ukuri yagarariza itegeko rya Yehova+; ku bw’ivyo Yehova yamuhaye intambwe, kugira ngo imujanjagure maze imwice, hisunzwe ijambo rya Yehova, iryo yamubwiye+.” 27 Hanyuma abwira abahungu biwe ati: “Nimunshirire itandiko ku ndogobwa.” Nuko bayishirako itandiko+. 28 Maze aragenda, asanga umuvyimba wiwe waterewe ku nzira, ya ndogobwa na ya ntambwe bihagaze iruhande y’uwo muvyimba. Iyo ntambwe ntiyari yariye uwo muvyimba canke ngo ijanjagure iyo ndogobwa+. 29 Nuko uwo muhanuzi aterura umuvyimba wa nya muntu w’Imana y’ukuri, awushira ku ndogobwa araheza arawugarukana. Gutyo nya muhanuzi ashaje yinjira mu gisagara ciwe kugira ngo amuborogere yongere amuhambe. 30 Ashira rero umuvyimba wiwe mu mva yiwe bwite; baguma bamuborogera+ bati: “Birababaje, mwene wacu!” 31 Nuko amaze kumuhamba, abwira abahungu biwe ati: “Ninapfa muze mumpambe mw’itongo uyu muntu w’Imana y’ukuri ahambwemwo. Amagufa yanje muze muyashire iruhande y’amagufa yiwe+. 32 Kuko ijambo yasemereye bivuye kw’ijambo rya Yehova abwira ca gicaniro+ kiri i Beteli n’amazu yose yo ku bibanza bikirurutse+ ari mu bisagara vya Samariya+, rizoshika ata kabuza+.”
33 Inyuma y’ico kintu, Yerobowamu ntiyahindukira ngo ave mu nzira yiwe mbi, mugabo asubira gufata abo mu bantu basanzwe abagira abaherezi b’ibibanza bikirurutse+. Nayo uwo vyahimbara wese, Yerobowamu yaruzuza ukuboko kwiwe ububasha+, mu kuvuga ati: “Nabe umwe mu baherezi b’ibibanza bikirurutse.” 34 Nuko ico kintu kiba imvo y’igicumuro ku rugo rwa Yerobowamu+, kiba n’akaryo ko kubahanagura no kubazimanganya ku buringanire bw’ubutaka+.
14 Ico gihe nyene, Abiya mwene Yerobowamu ararwara+. 2 Yerobowamu abwira rero umugore wiwe ati: “Ndakwinginze uhaguruke, wiyoberanye+ kugira ngo ntibamenye yuko uri umugore wa Yerobowamu, maze uje i Shilo. Ehe, aho ni ho Ahiya+ umuhanuzi ari. Ni we yavuze ku binyerekeye ivy’ukuba umwami w’aba bantu+. 3 Utore mu kuboko imikate+ cumi n’udutsima tumijagiweko, n’agakarabo+ k’ubuki, uheze winjire iwe+. Ni we azokubwira ibizoshikira uyu muhungu+.”
4 Umugore wa Yerobowamu agira kuno. Nuko arahaguruka, aja i Shilo+, ashika ku nzu ya Ahiya. Kandi Ahiya ntiyashobora kubona, kuko amaso yiwe yari yaradegeye kubera imyaka yiwe+.
5 Kandi Yehova ubwiwe yari yabwiye Ahiya ati: “Ehe umugore wa Yerobowamu araje kukubaza ijambo ku bijanye n’umuhungu wiwe; kuko arwaye. Umubwire uku n’uku. Kandi akimara gushika, araza kwiyoberanya+.”
6 Nuko Ahiya akimara kwumva urwamo rw’ibirenge vyiwe ariko yinjira mu bwinjiriro, avuga ati: “Injira yewe mugore wa Yerobowamu+. Kubera iki wiyoberanya kandi ndagutumweko ubutumwa bukaze? 7 Genda ubwire Yerobowamu uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ko nakudugije ngukuye hagati mu bantu bawe, kugira nkugire indongozi y’abantu banje Isirayeli+, 8 kandi ngashikura+ ubwami inzu ya Dawidi nkabuguha, ariko ntube nk’umusavyi wanje Dawidi, we yagumije amabwirizwa yanje akongera akagendera inyuma yanje n’umutima wiwe wose mu gukora gusa ivyari bigororotse mu maso yanje+, 9 mugabo ugatangura gukora nabi kurusha abakwitangiye imbere bose, ukaja kwihingurira iyindi mana+ n’ibishusho vy’icuma gishongeshejwe+ kugira umbabaze+, akaba ari jewe ushiburira inyuma y’umugongo wawe+; 10 ku bw’ivyo, ehe ngira nzane ivyago ku nzu ya Yerobowamu, kandi ata gukeka nzorandura kwa Yerobowamu umuntu w’igitsina-gabo wese*+, uwutagira gitabara kandi atagira ico amaze muri Isirayeli+; kandi vy’ukuri nzokubura noganze inyuma y’inzu ya Yerobowamu+, nk’uko umuntu akuraho umwanda mukuru gushika uzimanganye+. 11 Uwo mu nzu ya Yerobowamu azopfira mu gisagara, imbwa zizomurya+; uwuzopfira mu gahinga na we, ibiguruka vyo mu kirere bizomurya+, kuko Yehova ubwiwe abivuze.”’
12 “Nawe, nuhaguruke uje ku nzu yawe. Ibirenge vyawe nivyinjira mu gisagara uwo mwana arapfa ata kabuza. 13 Kandi Isirayeli yose izomuborogera+ koko yongere imuhambe, kuko uwo wenyene mu ba Yerobowamu ari we azoja mu mva; kubera ko hari ikintu ciza kuri Yehova Imana ya Isirayeli cabonetse muri we mu nzu ya Yerobowamu+. 14 Kandi ata gukeka, Yehova azokwihagurukiriza umwami+ wo kuganza Isirayeli azorandura inzu ya Yerobowamu ku musi wavuzwe; hamwe hoba ubu nyene na ho+? 15 Yehova azoririka koko Isirayeli, nk’uko nyene irenga rihungabana mu mazi+; ata gukeka azorandura+ Isirayeli kuri ubu butaka bwiza+ yahaye ba sekuruza babo, kandi azobasanzariza+ koko hakurya ya rwa Ruzi+, kubera bakoze ibikingi vyeranda+ vyabo, gutyo bakababaza+ Yehova. 16 Azoheba Isirayeli+ kubera ibicumuro vya Yerobowamu, ivyo yacumuye akongera akabicumurisha Isirayeli+.”
17 Umugore wa Yerobowamu arahaguruka rero, aragenda hanyuma ashika i Tiruza+. Ashitse ku rwinjiriro rw’inzu, wa muhungu arapfa. 18 Nuko baramuhamba, maze Isirayeli yose iramuborogera, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yavuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya umuhanuzi.
19 Ibisigaye mu vya Yerobowamu, ukuntu yarwanye intambara+ n’ukuntu yaganje, ehe vyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli. 20 Imisi Yerobowamu yaganje yabaye imyaka mirongo ibiri n’ibiri, hanyuma aryama hamwe na ba sekuruza+; nuko Nadabu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
21 Nayo Rehobowamu+ mwene Salomo, yari yarabaye umwami muri Yuda. Rehobowamu yari afise imyaka mirongo ine n’umwe igihe yatangura kuganza, amara imyaka cumi n’indwi aganza i Yeruzalemu, igisagara+ Yehova yari yaratoye mu miryango yose+ ya Isirayeli kugira ngo ahashire izina ryiwe+. Nyina yitwa Nayama Umwamonikazi+. 22 Yuda ibandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, ku buryo bamutera+ ishari kuruta ivyo ba sekuruza babo bari barakoze vyose biciye ku bicumuro vyabo bacumuye+. 23 Na bo nyene baguma biyubakira ibibanza bikirurutse+ n’inkingi nyeranda+ n’ibikingi vyeranda+ ku murambi wose ukirurutse+ no munsi y’igiti gitotahaye cose+. 24 Mbere mu gihugu hari abamaraya b’urusengero b’abagabo+. Bakora nk’uko ibintu vyose biteye ishishi vy’amahanga vyari, ayo Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+.
25 Nuko mu mwaka ugira gatanu w’Umwami Rehobowamu, Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu. 26 Atwara amatunga y’inzu ya Yehova n’amatunga y’inzu y’umwami+; atwara ikintu cose+. Atwara kandi za nkinzo zose z’inzahabu Salomo yari yarakoze+. 27 Umwami Rehobowamu akora rero inkinzo z’umujumpu mu kibanza cazo, maze azizeza abakuru b’abirutsi+, abarinzi b’ubwinjiriro bw’inzu y’umwami+. 28 Igihe cose umwami yaba aje ku nzu ya Yehova, nya birutsi barazitwara, mu nyuma bakazisubiza mu cumba c’irindiro c’abirutsi+.
29 Ibisigaye mu vya Rehobowamu be n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu bihe vy’abami ba Yuda? 30 Nuko haguma haba intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu+. 31 Amaherezo Rehobowamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Dawidi+. Nyina yitwa Nayama Umwamonikazi+. Nuko Abiyamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
15 Nuko mu mwaka ugira cumi n’umunani w’Umwami Yerobowamu+ mwene Nebati+, Abiyamu aba umwami wa Yuda+. 2 Aganza imyaka itatu i Yeruzalemu; nyina yitwa Mayaka+ umwuzukuru wa Abishalomu+. 3 Abandanya kugendera mu bicumuro vya se vyose, ivyo uno yakoze imbere yiwe; umutima wiwe ntiwaba uwukwiye+ kuri Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi sekuruza+. 4 Kuko, kubera Dawidi+, Yehova Imana yiwe yamuhaye itara+ i Yeruzalemu, mu guhagurutsa umuhungu wiwe mu nyuma ziwe no mu kugumizaho Yeruzalemu+, 5 kuko Dawidi yakoze ivyari bigororotse mu maso ya Yehova, ntakevye ngo ave ku kintu na kimwe yari yaramutegetse imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kiretse mu vya Uriya Umuheti+. 6 Kandi haba intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu imisi yose y’ubuzima bwiwe+.
7 Nayo ibisigaye mu vya Abiyamu be n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? Haba kandi intambara hagati ya Abiyamu na Yerobowamu+. 8 Amaherezo Abiyamu aryama hamwe na ba sekuruza hanyuma bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Asa+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
9 Mu mwaka ugira mirongo ibiri wa Yerobowamu umwami wa Isirayeli, Asa aganza ari umwami wa Yuda. 10 Aganza imyaka mirongo ine n’umwe i Yeruzalemu; inakuru yitwa Mayaka+ umwuzukuru wa Abishalomu+. 11 Asa atangura gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova, nka Dawidi sekuruza+. 12 Nuko azimanganya mu gihugu abamaraya b’urusengero b’abagabo+ yongera akuraho ibigirwamana vy’umwanda+ vyose ba sekuruza bari barakoze+. 13 Mbere na Mayaka+ inakuru, amukura mu kibanza co kuba umugore w’iteka+, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye ishishi agikoreye igikingi ceranda; hanyuma Asa asitura ico kigirwamana ciwe giteye ishishi+ araheza agituririra+ mu mwonga Kidironi+. 14 Mugabo ntiyakuraho+ ibibanza bikirurutse+. Naho vyari ukwo, umutima wa Asa uba uwukwiye kuri Yehova mu misi yiwe yose+. 15 Maze atangura kwinjiza mu nzu ya Yehova ibintu se wiwe yari yaragize vyeranda be n’ibintu we ubwiwe yari yaragize vyeranda: ifeza n’inzahabu be n’ibindi bintu+.
16 Nuko haba intambara hagati ya Asa na Bayasha+ umwami wa Isirayeli imisi yabo yose. 17 Bayasha umwami wa Isirayeli aduga rero gutera Yuda maze atangura kwubaka Rama+, kugira ngo ntakundire umuntu n’umwe gusohoka canke kwinjira kwa Asa umwami wa Yuda+. 18 Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu matunga y’inzu ya Yehova n’amatunga y’inzu y’umwami, abishira mu kuboko kw’abasuku biwe; nuko Umwami Asa abatuma kuri Beni-hadadi+ mwene Taburimoni mwene Heziyoni, umwami wa Siriya+, uwaba i Damasiko+, ati: 19 “Hariho isezerano hagati yanje nawe, hagati ya dawe na so. Ehe ndakurungikiye impano+ y’ifeza n’inzahabu. Genda urenge kw’isezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, kugira ngo ave iwanje+.” 20 Nuko Beni-hadadi yumviriza Umwami Asa, arungika abakuru b’inteko za gisirikare ziwe ngo batere ibisagara vya Isirayeli; aririka Iyoni+ na Dani+ na Abeli-beti-mayaka+ na Kinereti yose, gushika mu gihugu ca Nafutali+ cose. 21 Nuko Bayasha akimara kuvyumva, aca areka kwubaka Rama+ maze abandanya kuba i Tiruza+. 22 Nayo Umwami Asa, ahamagaza Yuda yose+, ata n’umwe avuyemwo, maze batangura gutwara amabuye y’igisagara ca Rama n’ibiti vyaco, ivyo Bayasha yari yubakishije; hanyuma Umwami Asa atangura kuvyubakisha Geba+ muri Benyamini, na Mizipa+.
23 Nayo ibisigaye mu vya Asa vyose, n’ubushobozi bwiwe bwose n’ivyo yakoze vyose be n’ibisagara yubatse, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? Gusa, mu gihe c’ubusaza bwiwe+, arwara ibirenge+. 24 Amaherezo Asa aryama hamwe na ba sekuruza biwe, ahambwa hamwe na ba sekuruza+ mu Gisagara ca Dawidi sekuruza+; maze Yehoshafati+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
25 Nayo Nadabu+ mwene Yerobowamu, aba umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira kabiri wa Asa umwami wa Yuda; maze aganza Isirayeli imyaka ibiri. 26 Aguma akora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova, kandi abandanya kugendera mu nzira ya se wiwe+ no mu gicumuro ciwe, ico yacumurishije Isirayeli+. 27 Nuko Bayasha+ mwene Ahiya wo mu nzu ya Isakari atangura kumugīra umugambi mubi; Bayasha amugarikira i Gibetoni+ h’Abafilisitiya, mu gihe Nadabu na Isirayeli yose bari bugarije Gibetoni. 28 Gutyo Bayasha aramwica mu mwaka ugira gatatu wa Asa umwami wa Yuda, maze atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 29 Nuko akimara kuba umwami, aririka inzu ya Yerobowamu yose. Ntihagira uwuhema n’umwe asigaza mu ba Yerobowamu gushika abazimanganije, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yaravuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya Umunyashilo+, 30 kubera ibicumuro vya Yerobowamu, ivyo yacumuye+ akongera akabicumurisha Isirayeli, n’ukubabaza kwiwe yababarishije Yehova Imana ya Isirayeli+. 31 Nayo ibisigaye mu vya Nadabu be n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 32 Nuko haba intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli imisi yabo yose+.
33 Mu mwaka ugira gatatu wa Asa umwami wa Yuda, Bayasha mwene Ahiya amara imyaka mirongo ibiri n’ine ari umwami wa Isirayeli yose i Tiruza+. 34 Aguma akora ivyari bibi mu maso ya Yehova+ kandi aguma agendera mu nzira ya Yerobowamu+ no mu gicumuro ciwe, ico yacumurishije Isirayeli+.
16 Nuko ijambo rya Yehova riza kuri Yehu+ mwene Hanani+ riziye Bayasha, riti: 2 “Ko nakudugije ngukuye mu mukungugu+ kugira ngo nkugire indongozi y’abantu banje Isirayeli+, mugabo ugatangura kugendera mu nzira ya Yerobowamu+, gutyo ugacumuza abantu banje Isirayeli mu kumbabaza n’ibicumuro vyabo+, 3 ehe ngira nkubure noganze inyuma ya Bayasha n’inyuma y’inzu yiwe, kandi ata gukeka inzu yiwe nzoyigira nk’inzu ya Yerobowamu mwene Nebati+. 4 Uwo mu ba Bayasha wese azopfira mu gisagara, imbwa zizomurya; kandi uwo mu biwe wese azopfira mu gahinga, ibiguruka vyo mu kirere bizomurya+.”
5 Nayo ibisigaye mu vya Bayasha, n’ivyo yakoze be n’ubushobozi bwiwe, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 6 Amaherezo Bayasha aryama hamwe na ba sekuruza hanyuma ahambwa i Tiruza+; nuko Ela umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 7 Biciye kandi kuri Yehu mwene Hanani umuhanuzi, ijambo rya Yehova ryari ryaziye Bayasha n’inzu yiwe+, kubera ikibi cose yakoze mu maso ya Yehova mu kumubabarisha+ igikorwa c’amaboko yiwe+, kugira ngo icike nk’inzu ya Yerobowamu, no kubera yuko yagaritse Nadabu+.
8 Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatandatu wa Asa umwami wa Yuda, Ela mwene Bayasha aba umwami wa Isirayeli i Tiruza imyaka ibiri. 9 Umusuku wiwe Zimuri+, umukuru w’ica kabiri c’imikogote, atangura kumugīra umugambi mubi, mu gihe yari i Tiruza ariko aranywera+ kuborerwa mu nzu ya Ariza, uno akaba yagaba urugo+ i Tiruza. 10 Nuko Zimuri arinjira maze aramugarika+, aramwica, mu mwaka ugira mirongo ibiri n’indwi wa Asa umwami wa Yuda, hanyuma atangura kuganza mu kibanza ciwe. 11 Igihe yatangura kuganza, akimara kwicara ku ntebe y’ubwami yiwe, asasika inzu ya Bayasha yose. Ntiyamusigariza umuntu n’umwe w’igitsina-gabo*+ canke abahōzi b’amaraso+ biwe canke abagenzi biwe. 12 Gutyo Zimuri azimanganya inzu ya Bayasha yose+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari+, iryo yari yaravuze kuri Bayasha biciye kuri Yehu umuhanuzi+, 13 kubera ibicumuro vyose vya Bayasha n’ibicumuro vya Ela+ umuhungu wiwe, ivyo bacumuye bakongera bakabicumurisha Isirayeli mu kubabaza Yehova Imana ya Isirayeli, bakoresheje ibigirwamana vyabo bitagira mvura+. 14 Nayo ibisigaye mu vya Ela be n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli?
15 Mu mwaka ugira mirongo ibiri n’indwi wa Asa umwami wa Yuda, Zimuri aba umwami i Tiruza imisi indwi+, mu gihe abantu bari bakambitse ngo barwanye Gibetoni+ h’Abafilisitiya. 16 Mu nyuma abantu bari bakambitse bumva bivugwa ngo: “Zimuri yagize umugambi mubi, eka kandi yagaritse umwami.” Nuko Isirayeli yose yimika Omuri+ umukuru w’ingabo kuri uwo musi, mw’ikambi, imugira umwami wa Isirayeli. 17 Omuri na Isirayeli yose baraduga bavuye i Gibetoni hanyuma batangura gusugereza+ Tiruza. 18 Zimuri akimara kubona ko igisagara cafashwe, yinjira rero mu munara wo kubamwo w’inzu y’umwami araheza yituririrako inzu y’umwami n’umuriro, arapfa+, 19 kubera ibicumuro vyiwe yari yaracumuye mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, mu kugendera mu nzira ya Yerobowamu no mu gicumuro ciwe yakoze mu gucumuza Isirayeli+. 20 Nayo ibisigaye mu vya Zimuri n’umugambi wiwe mubi yagize, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli?
21 Ico gihe ni ho abantu ba Isirayeli batangura kwigaburamwo ibice bibiri+. Igice kimwe c’abantu cakurikiye Tibuni mwene Ginati, kugira ngo bamugire umwami, ikindi gice na co gikurikira Omuri. 22 Amaherezo abantu bariko bakurikira Omuri batsinda abantu bariko bakurikira Tibuni mwene Ginati, ku buryo Tibuni apfa, maze Omuri atangura kuganza.
23 Mu mwaka ugira mirongo itatu na rimwe wa Asa umwami wa Yuda, Omuri aba umwami wa Isirayeli imyaka cumi n’ibiri. I Tiruza ahaganza imyaka itandatu. 24 Maze agura umusozi wa Samariya kuri Shemeri ku talanto zibiri z’ifeza; nuko atangura kwubaka kuri uwo musozi, hanyuma igisagara yari yubatse acita Samariya+, akurikije izina rya Shemeri nyene uwo musozi. 25 Omuri aguma akora ivyari bibi mu maso ya Yehova, akora nabi kurusha abari baramwitangiye imbere bose+. 26 Abandanya kugendera mu nzira yose ya Yerobowamu mwene Nebati+ no mu gicumuro ciwe yacumurishije Isirayeli mu kubabaza Yehova Imana ya Isirayeli, akoresheje ibigirwamana vyabo bitagira mvura+. 27 Nayo ibisigaye mu vya Omuri, ivyo yakoze be n’ubushobozi bwiwe yakoranye, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 28 Amaherezo Omuri aryama hamwe na ba sekuruza hanyuma ahambwa i Samariya; nuko Ahabu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
29 Ahabu mwene Omuri, aba umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira mirongo itatu n’umunani wa Asa umwami wa Yuda; nuko Ahabu mwene Omuri abandanya kuganza Isirayeli i Samariya+ imyaka mirongo ibiri n’ibiri. 30 Maze Ahabu mwene Omuri atangura gukora nabi cane mu maso ya Yehova kurusha abari baramwitangiye imbere bose+. 31 Nuko, nk’aho kuri we coba cari ikintu gisanzwe cane+ kugendera mu bicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, aca yabira+ Yezebeli+ umukobwa wa Etibayali umwami w’Abanyasidoni+, maze aja gukorera Bayali+ no kuyunamira. 32 Vyongeye, ashingira igicaniro Bayali ku nzu ya Bayali+ yubatse i Samariya. 33 Hanyuma Ahabu akora igikingi ceranda+; Ahabu akora n’ibindi kugira ababaze+ Yehova Imana ya Isirayeli kurusha abami ba Isirayeli bose bamwitangiye imbere.
34 Mu misi yiwe, Hiyeli Umunyabeteli yubaka Yeriko. Ashinze umushinge waho, abura Abiramu imfura yiwe; ashizeho imiryango yaho na ho, abura Segubu umuhererezi wiwe, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yaravuze biciye kuri Yosuwa mwene Nuni+.
17 Nuko Eliya+ Umutishibe wo mu baba i Gileyadi+ abwira Ahabu ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ Imana ya Isirayeli, uwo mpagarara+ imbere koko, muri iyi myaka nta kime canke imvura bizohaba+, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje+!”
2 Ijambo+ rya Yehova riza rero kuri we riti: 3 “Va ng’aha ugende, maze werekeze mu buseruko uheze wihishe+ ku mwonga Keriti uri mu buseruko bwa Yorodani. 4 Ibi ni vyo bizoba: uze unywe kuri uwo mwonga+, nanje ata gukeka nzotegeka ibikona+ kugira ngo bikuronkereze ibifungurwa ng’aho+.” 5 Aca aragenda hanyuma akora yisunze ijambo rya Yehova+; aja rero kuba iruhande y’umwonga Keriti uri mu buseruko bwa Yorodani. 6 Ibikona vyaramuzanira umukate n’inyama mu gitondo bikongera bikamuzanira umukate n’inyama ku mugoroba, kandi yanywa kuri uwo mwonga+. 7 Mugabo haheze imisi, uwo mwonga urakama+, kuko ata mvura y’isegenya yagwa kw’isi.
8 Nuko ijambo rya Yehova riza kuri we riti+: 9 “Haguruka, uje i Zarefati+ h’i Sidoni, ubeyo. Ehe nzotegeka koko ng’aho umugore, umupfakazi, akuronse ibifungurwa.” 10 Nuko arahaguruka, aja i Zarefati hanyuma ashika mu bwinjiriro bw’igisagara; maze ehe, ng’aho hari umugore umwe, umupfakazi, yariko atoragura udukwi. Aramuhamagara rero maze avuga ati: “Ndakwinginze unzanire utuzi dukeyi mu kintu kugira ngo nywe+.” 11 Agiye kuyazana, atangura kumuhamagara, avuga ati: “Ndakwinginze unzanire igipande c’umukate+ mu kuboko kwawe.” 12 Na we avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana yawe+, nta gatsima k’umuzingi mfise+, atari agafu kari ku rushi+ kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi+ mu gakarabo; kandi ehe ndiko ntoragura udukwi dukeyi, mpeze ngende maze ngire ico nteguye ku bwanje no ku bw’umuhungu wanje, turye hanyuma dupfe+.”
13 Maze Eliya amubwira ati: “Ntutinye+. Genda ukore nk’uko uvuze. Ariko ku biriyo ubanze untegurire agatsima k’umuzingi gatoyi+ uheze ukanzanire, mu nyuma urashobora kugira ico uteguye ku bwawe no ku bw’umuhungu wawe. 14 Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Uwo mubindi munini w’ifu ntuzohera, kandi ako gakarabo k’amavuta ntikazogabanuka, gushika umusi Yehova azotanga imvura y’isegenya ku buringanire bw’ubutaka+.’” 15 Aragenda rero, akora nk’uko Eliya yari avuze; nuko amara imisi arya, we n’urugo rwiwe hamwe na Eliya+. 16 Nya mubindi munini w’ifu ntiwahera, na nya gakarabo k’amavuta ntikagabanuka+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yavuze biciye kuri Eliya.
17 Inyuma y’ivyo bintu, umuhungu w’uwo mugore, nyene inzu, ararwara, indwara yiwe irakomera cane ku buryo ata mpemu zisigara muri we+. 18 Aca abwira Eliya ati: “Mpuriye ku ki nawe+ ga yewe muntu w’Imana y’ukuri? Waje iwanje kwibukiriza ikosa ryanje+ no kwica umuhungu wanje.” 19 Mugabo amubwira ati: “Mpa umuhungu wawe.” Maze aramutwara amukuye mu gikiriza ciwe, amudugana mu cumba co hejuru+, aho yaba, araheza amuryamika ku buriri bwiwe+. 20 Nuko atangura guhamagara Yehova, avuga ati: “Ewe Yehova Mana yanje+, mbega uzane inabi no kuri uyu mupfakazi mbayeko ndi kavamahanga, mu kwica umuhungu wiwe?” 21 Maze arambarara kuri nya mwana+ incuro zitatu hanyuma ahamagara Yehova, avuga ati: “Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume ubuzima+ bw’uyu mwana bumugarukamwo.” 22 Amaherezo Yehova yumviriza ijwi rya Eliya+, ubuzima bwa nya mwana buraheza bumugarukamwo, maze aba muzima+. 23 Nuko Eliya atora uwo mwana, aramumanukana amukuye muri nya cumba co hejuru hanyuma amuha nyina; maze Eliya avuga ati: “Ehe umuhungu wawe ni muzima+.” 24 Nya mugore aca abwira Eliya ati: “Vy’ukuri, ubu ndamenye koko yuko uri umuntu w’Imana+ be n’uko ijambo rya Yehova wavuze ari iry’ukuri+.”
18 Haheze imisi myinshi+, ijambo rya Yehova riza kuri Eliya mu mwaka ugira gatatu, riti: “Genda wiyereke Ahabu, kuko niyemeje gutanga imvura ku buringanire bw’ubutaka+.” 2 Eliya agenda rero kwiyereka Ahabu, mu gihe ikigoyi cari gikaze+ i Samariya.
3 Muri ico gihe, Ahabu ahamagara Obadiya, uwagaba urugo+. (Kandi Obadiya yari yarerekanye ko ari umuntu atinya+ cane Yehova. 4 Gutyo, igihe Yezebeli+ yarandura abahanuzi ba Yehova+, Obadiya yafashe abahanuzi ijana hanyuma aguma abanyegeje mw’isenga ari mirongo itanitanu, kandi abaronsa umukate n’amazi+.) 5 Maze Ahabu abwira Obadiya ati: “Gendagenda mu gihugu, ku mbizi z’amazi zose no ku myonga yose. Hari aho tworonka ivyatsi bitoto+, kugira ngo tuzigamire ubuzima amafarasi n’inyumpu, ntihagire ibindi bitungwa birandurwa+.” 6 Nuko bagabura hagati yabo igihugu co gucamwo. Ahabu ajana inzira imwe ari wenyene, Obadiya na we ajana iyindi nzira ari wenyene+.
7 Obadiya akiriko arabandanya kugenda, aza abona Eliya aje guhura na we+. Aca aramumenya maze agwa yubamye+, araheza avuga ati: “Mbega ni wewe ga mukama wanje+ Eliya?” 8 Na we amubwira ati: “Ni jewe. Genda ubwire umukama wawe+ uti: ‘Urazi! Eliya ari ino.’” 9 Mugabo Obadiya avuga ati: “Ni igicumuro ikihe+ nakoze aho ushira umusuku wawe mu kuboko kwa Ahabu kugira ngo anyice? 10 Ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana yawe+, nta hanga canke ubwami umukama wanje atatumyemwo kukurondera. Bamaze kuvuga bati: ‘Ntari hano,’ yaca arahiza ubwo bwami n’iryo hanga yuko batashobora kukuronka+. 11 None ubu uriko uvuga ngo: ‘Genda ubwire umukama wawe uti: “Urazi! Eliya ari ino.”’ 12 Ibi ni vyo biza kuba ata kabuza: Ninagenda mvanye nawe, impwemu+ ya Yehova ica ikujana aho ntari bumenye; nzoba naje kubimenyesha Ahabu, na we arakubura, maze aranyica+ ata kabuza, kuko umusuku wawe yatinye Yehova kuva mu buto bwiwe+. 13 Mbega umukama wanje ntiyabwiwe ivyo nakoze igihe Yezebeli yica abahanuzi ba Yehova, ingene nagumye nyegeje bamwe mu bahanuzi ba Yehova, abagabo ijana, mirongo itanitanu mw’isenga+, kandi nkaguma ndabaronsa umukate n’amazi+? 14 None ubu uriko uvuga ngo: ‘Genda ubwire umukama wawe uti: “Urazi! Eliya ari ino.”’ Aranyica ata kabuza+.” 15 Ariko Eliya avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ nyen’ingabo+, uwo mpagarara imbere, uno musi ndamwiyereka.”
16 Obadiya agenda rero guhura na Ahabu maze arabimumenyesha; nuko Ahabu aja guhura na Eliya.
17 Ahabu akimara kubona Eliya, aca amubwira ati: “Mbega ni wewe wazanye ugukumirwa kuri Isirayeli+?”
18 Na we avuga ati: “Sinazanye ikumirwa+ kuri Isirayeli, ahubwo wewe n’inzu ya so ni mwe mwarizanye+, kuko mwahevye amabwirizwa ya Yehova+ mugakurikira za Bayali+. 19 Ubu rero, nutume intumwa gukoraniriza Isirayeli yose iruhande yanje ku musozi Karumeli+, na ba bahanuzi ba Bayali+ amajana ane na mirongo itanu be na ba bahanuzi amajana ane b’igikingi ceranda+, barira ku meza ya Yezebeli+.” 20 Nuko Ahabu atuma intumwa muri bene Isirayeli bose gukoraniriza hamwe abo bahanuzi+ ku musozi Karumeli.
21 Maze Eliya yegera abantu bose hanyuma avuga ati: “Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye+? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumukurikire+; nimba na ho ari Bayali, nimuyikurikire.” Abantu ntibagira ijambo bamwishura. 22 Eliya abandanya kubwira abantu ati: “Ni jewe nsigaye ndi umuhanuzi wa Yehova+, jewe jenyene, mu gihe abahanuzi ba Bayali ari abagabo amajana ane na mirongo itanu. 23 Ubu rero, nibaduhe ibimasa bibiri, maze bitorere ikimasa kimwe hanyuma bagihimbagure baheze bagishire ku nkwi, mugabo ntibagishireko umuriro. Nanje ubwanje ndategura ikindi kimasa hanyuma ndagishire ku nkwi, mugabo sinza kugishirako umuriro. 24 Muraheza mwambaze izina ry’imana yanyu+, nanje ndambaza izina rya Yehova; maze Imana y’ukuri iza kwishura biciye ku muriro+ izoba ari yo Mana y’ukuri+.” Abantu bose baca bishura bati: “Ico kintu ni ciza.”
25 Eliya abwira rero abahanuzi ba Bayali ati: “Nimwitorere ikimasa kimwe hanyuma mubanze mugitegure, kuko ari mwe muri benshi; maze mwambaze izina ry’imana yanyu, mugabo ntimushireko umuriro.” 26 Nuko batora nya kimasa abahaye. Maze baragitegura, hanyuma baguma bambaza izina rya Bayali kuva mu gitondo gushika ku mutaga, bavuga bati: “Ewe Bayali, nutwishure!” Mugabo ntihagira ijwi ryumvikana+, kandi ntihagira uwishura+. Baguma bacumbagira irya n’ino y’igicaniro bari bakoze. 27 Nuko ku mutaga Eliya atangura kubatwenga+, avuga ati: “Hamagare n’ijwi ryanyu ryose, kuko ari imana+; kuko hategerezwa kuba hari ikintu kiyifatiriye, kandi igomba kwituma+, ikaba rero itegerezwa kuja kwa surwumwe+. Canke kumbure irasinziriye, ikaba rero ibwirizwa kuvyuka+!” 28 Nuko batangura guhamagara n’ijwi ryabo ryose no kwikebaguza+ intambi n’amacumu nk’uko umugenzo wabo wari, gushika bivishije amaraso. 29 Umutaga ukimara kurengana, bakabandanya kwifata nk’abahanuzi+ gushika igihe co gushikana ishikanwa ry’intete kigeze, ntihagira ijwi ryumvikana, ntihagira uwishura, kandi ntihaboneka ukwitabwaho na kumwe+.
30 Amaherezo Eliya abwira abantu bose ati: “Nimunyegere.” Nuko abantu bose baramwegera. Maze atangura gusanasana igicaniro ca Yehova cari carasambuwe+. 31 Eliya atora rero amabuye cumi n’abiri, akurikije igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo, uwo ijambo rya Yehova ryari ryarajeko+, rivuga riti: “Isirayeli ni ryo rizoba izina ryawe+.” 32 Nuko ayo mabuye ayubakamwo igicaniro+ mw’izina rya Yehova+ maze aca irya n’ino y’ico gicaniro umuvo ungana n’ahantu habibwa ingero zibiri za seya* z’imbuto. 33 Hanyuma atondeka inkwi+, ahimbagura ca kimasa araheza agishira kuri nya nkwi. Nuko avuga ati: “Nimwuzuze amazi imibindi mininiminini ine, muyasuke kuri iryo shikanwa riturirwa no kuri izo nkwi.” 34 Maze avuga ati: “Subire mubigire.” Nuko basubira kubigira. Mugabo avuga ati: “Nimubigire ubugira gatatu.” Nuko babigira ubugira gatatu. 35 Gutyo amazi aja irya n’ino ya nya gicaniro, na nya muvo nyene awuzuza amazi.
36 Igihe+ co gutanga ishikanwa ry’intete kigeze, Eliya umuhanuzi aregera maze avuga ati: “Ewe Yehova, Mana ya Aburahamu+, Izahaki+ na Isirayeli+, uyu musi nibimenyekane yuko uri Imana muri Isirayeli+ be n’uko jewe ndi umusavyi wawe, kandi ko nakoze ibi bintu vyose bivuye kw’ijambo ryawe+. 37 Nunyishure, ewe Yehova, nunyishure, kugira ngo aba bantu bamenye yuko wewe, Yehova+, ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ari wewe wagarukanye umutima wabo+.”
38 Nuko umuriro+ wa Yehova urakoroka maze urigata nya shikanwa riturirwa+, na nya nkwi, na ya mabuye, n’umukungugu, ufyeta na ya mazi yari mu muvo+. 39 Abantu bose ngo babibone, baca bagwa bubamye+, bavuga bati: “Yehova ni we Mana y’ukuri! Yehova ni we Mana y’ukuri!” 40 Maze Eliya ababwira ati: “Nimucakire abahanuzi ba Bayali! Ntihagire n’umwe muri bo acoroka!” Baca barabacakira, maze Eliya abamanukana ku mwonga Kishoni+, abicirayo+.
41 Hanyuma Eliya abwira Ahabu ati: “Duga, urye wongere unywe+; kuko hariho urwamo rw’imvura y’isegenya+.” 42 Nuko Ahabu aduga kurya no kunywa. Nayo Eliya, aduga kw’isonga rya Karumeli, maze abunda hasi+, mu maso hiwe ahashira hagati y’amavi yiwe+. 43 Maze abwira umusuku wiwe ati: “Ndakwinginze uduge. Raba amaja ku kiyaga.” Nuko araduga maze araraba hanyuma avuga ati: “Nta na kimwe kiriyo.” Abandanya kuvuga ati: “Subirayo,” incuro indwi+. 44 Nuko ku ncuro igira indwi avuga ati: “Ehe! Hariyo igicu gitoyi nk’ikiganza c’umuntu, kiriko kiduga kivuye mu kiyaga+.” Avuga rero ati: “Duga ubwire Ahabu uti: ‘Ambika umukogote ku mafarasi+, hanyuma umanuke kugira ngo imvura y’isegenya ntikubuze kugenda!’” 45 Nuko muri ico gihe amajuru yirabuzwa n’ibicu n’umuyaga+, hanyuma imvura y’isegenya ikomeye itangura kugwa+. Maze Ahabu abandanya kugendera ku mukogote wiwe, aja i Yezireyeli+. 46 Ukuboko kwa Yehova kuba kuri Eliya+, ku buryo akenyera mu mafyinga+ maze yiruka imbere ya Ahabu gushika i Yezireyeli+.
19 Maze Ahabu+ yiganira Yezebeli+ ivyo Eliya yari yarakoze vyose n’amakuru yose yerekeye ingene yari yaricishije inkota abahanuzi bose+. 2 Yezebeli aca atuma intumwa kuri Eliya ati: “Imana zingirire gutyo+, mbere n’ibirenze ivyo+, ejo nk’aya mango ubuzima bwawe nintabugira nk’ubuzima bw’umwumwe wese muri bo!” 3 Maze Eliya aratinya. Nuko arahaguruka, aragenda kugira anyage amagara+, ashika i Beyeri-sheba+, ahegukira Yuda+. Maze asiga ng’aho umusuku wiwe. 4 Ariko we aja mu gahinga, ahareha n’urugendo rw’umusi umwe, amaherezo aja kwicara munsi y’igiti kimwe c’umugoti+. Nuko atangura gusaba ko yokwipfira, avuga ati: “Biramaze! None rero, ewe Yehova, nkuraho+, kuko ntaruta ba sogokuruza banje.”
5 Amaherezo araryama, asinzirira munsi ya nya giti c’umugoti+. Mugabo ako kanya umumarayika+ amukorako+. Maze amubwira ati: “Vyuka urye.” 6 Aravye, erega, ehe ku mutwe wiwe hari agatsima k’umuzingi+ kari ku mabuye ashuhijwe be n’ikarabiya ry’amazi. Nuko atangura kurya no kunywa, hanyuma asubira kuryama. 7 Mu nyuma, umumarayika+ wa Yehova agaruka ubugira kabiri, amukorako maze avuga ati: “Vyuka urye, kuko urugendo ari rurerure birenze kuri wewe+.” 8 Nuko aravyuka, ararya yongera aranywa, maze amara imisi mirongo ine+ n’amajoro mirongo ine agendera mu nkomezi z’izo mfungurwa gushika ku musozi w’Imana y’ukuri, ari wo Horebu+.
9 Ng’aho, amaherezo yinjira mw’isenga+, kugira ngo arareyo; maze ehe, ijambo rya Yehova riza kuri we, hanyuma rimubwira riti: “Ukora iki ng’aha ga Eliya+?” 10 Na we avuga ati: “Nagize koko ishari+ ku bwa Yehova Imana nyen’ingabo; kuko bene Isirayeli bahevye isezerano ryawe+, ibicaniro vyawe bakabisambura+, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota+, ku buryo ari jewe jenyene nsigaye+; none batanguye kurondera ubuzima bwanje ngo babukureho+.” 11 Mugabo rivuga riti: “Sohoka, uhagarare ku musozi imbere ya Yehova+.” Maze ehe, Yehova yariko ararengana+; umuyaga uhambaye kandi ukomeye wariko usatagura imisozi wongera umenagura ibitare imbere ya Yehova+. (Yehova ntiyari muri uwo muyaga.) Inyuma y’uwo muyaga haba ukunyiganyiga kw’isi+. (Yehova ntiyari muri ukwo kunyiganyiga kw’isi.) 12 Inyuma y’ukwo kunyiganyiga kw’isi haba umuriro+. (Yehova ntiyari muri uwo muriro.) Inyuma y’uwo muriro haba ijwi ritekanye, ryo hasi+. 13 Eliya akimara kuryumva, aca yizingira mu maso impuzu yiwe y’ibango+ araheza arasohoka, ahagarara mu bwinjiriro bwa nya senga; maze ehe ijwi riza kuri we hanyuma rimubwira riti: “Ukora iki ng’aha ga Eliya+?” 14 Na we avuga ati: “Nagize koko ishari ku bwa Yehova Imana nyen’ingabo; kuko bene Isirayeli bahevye isezerano ryawe+, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota, ku buryo ari jewe jenyene nsigaye; none batanguye kurondera ubuzima bwanje ngo babukureho+.”
15 Nuko Yehova amubwira ati: “Genda, usubire ujane inzira yawe uje mu gahinga ka Damasiko+; winjire hanyuma urobanuze amavuta+ Hazayeli+, abe umwami wa Siriya. 16 Yehu+ umwuzukuru wa Nimushi+ na we umurobanuze amavuta, abe umwami wa Isirayeli; Elisha+ mwene Shafati w’i Abeli-mehola+ na we umurobanuze amavuta, abe umuhanuzi mu kibanza cawe+. 17 Uwuzokira inkota ya Hazayeli+, Yehu azomwica+; uwuzokira inkota ya Yehu na we Elisha azomwica+. 18 Kandi nasigaje abagabo ibihumbi indwi muri Isirayeli+, amavi yose atapfukamiye Bayali+, n’umunwa wose utayisomye+.”
19 Nuko aragenda avuye ng’aho maze abona Elisha mwene Shafati, mu gihe yariko ararima+ n’amashūri mirongo ibiri n’ane imbere yiwe afatanijwe ari abirabiri, we akaba yari kumwe n’abiri ya nyuma. Eliya arajabuka rero, aja aho ari maze amutererako impuzu y’ibango yiwe+. 20 Aca asiga nya mashūri, yiruka inyuma ya Eliya maze avuga ati: “Ndakwinginze ureke nsome dawe na mawe+. Ndaheza ngukurikire.” Aca amubwira ati: “Genda, subira inyuma; nakare nkugize iki?” 21 Nuko asubira inyuma areka kumukurikira maze afata amashūri abiri afatanijwe, ayatangako ikimazi+, hanyuma inyama z’ayo mashūri azitekesha ibikoresho+ vyayo vyo mu biti araheza aziha abantu, na bo batangura kurya. Inyuma y’ivyo arahaguruka hanyuma akurikira Eliya, atangura kumukorera+.
20 Nayo Beni-hadadi+ umwami wa Siriya, akoraniriza hamwe inteko za gisirikare ziwe zose, ari kumwe+ n’abami mirongo itatu na babiri n’amafarasi+ n’imikogote+, maze aduga gusugereza+ Samariya+ no kuharwanya. 2 Hanyuma atuma intumwa+ kuri Ahabu umwami wa Isirayeli mu gisagara. Nuko amubwira ati: “Ibi ni vyo Beni-hadadi avuze: 3 ‘Ifeza zawe n’inzahabu zawe ni ivyanje, n’abagore bawe n’abahungu bawe, abeza kuruta abandi, ni abanje+.’” 4 Umwami wa Isirayeli aca yishura ati: “Nk’uko ijambo ryawe riri, mukama wanje umwami, ndi uwawe be n’ivyanje vyose+.”
5 Mu nyuma nya ntumwa ziragaruka, zivuga ziti: “Ibi ni vyo Beni-hadadi avuze: ‘Nagutumyeko nti: “Uzompa ifeza zawe n’inzahabu zawe n’abagore bawe n’abahungu bawe. 6 Mugabo ejo nk’aya mango nzotuma abasuku banje kuri wewe, na bo bazosaka bitonze inzu yawe n’amazu y’abasuku bawe; ikintu cose gihimbaye+ mu maso yawe bazogishira mu kuboko kwabo baheze bagitware.”’”
7 Umwami wa Isirayeli aca ahamagara abagabo b’inararibonye bose b’igihugu+ maze avuga ati: “Ndabinginze murabe, mubone yuko uyu muntu ariko arondera icago+; kuko yantumyeko intumwa gusaba abagore banje n’abana banje n’ifeza zanje n’inzahabu zanje, sinabimwima.” 8 Maze abagabo b’inararibonye bose n’abantu bose bamubwira bati: “Ntumugamburukire; ntiwemere.” 9 Abwira rero intumwa za Beni-hadadi ati: “Mubwire umukama wanje umwami muti: ‘Ibintu vyose watumye ku musavyi wawe ubwa mbere nzobikora; mugabo ico kintu sinshoboye kugikora.’” Izo ntumwa zica ziragenda, zimugarukanira inyishu.
10 Nuko Beni-hadadi amutumako ati: “Imana+ zingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, umukungugu wa Samariya niwakwira amashi y’abantu bose bankurikira+!” 11 Umwami wa Isirayeli na we arishura, avuga ati: “Mumubwire muti: ‘Uwukenyera+ ibirwanisho ntiyirate nk’uwubikenyurura+.’” 12 Akimara kwumva iryo jambo, mu gihe we na ba bami bariko banywera+ mu nsago, aca abwira abasuku biwe ati: “Nimwitegure!” Nuko batangura kwitegura kugira ngo barwanye nya gisagara.
13 Maze ehe, umuhanuzi umwe yegera Ahabu umwami wa Isirayeli+ hanyuma avuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze+: ‘Wabonye iri sinzi rinini ryose? Ehe ndaritanze mu kuboko kwawe uyu musi, nawe uramenya koko yuko jewe ndi Yehova+.’” 14 Maze Ahabu avuga ati: “Biciye kuri nde?” Na we ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Biciye ku misore y’abaganwa b’intara z’ubutware.’” Amaherezo avuga ati: “Ni nde aza gutanguza urugamba?” Na we ati: “Wewe!”
15 Nuko aharura imisore y’abaganwa b’intara z’ubutware, iba amajana abiri na mirongo itatu n’ibiri+; inyuma yabo aharura abantu bose, bene Isirayeli bose, baba ibihumbi indwi. 16 Batangura gusohoka ku mutaga, mu gihe Beni-hadadi yariko anywera kuborerwa+ mu nsago, we hamwe n’abami, ba bami mirongo itatu na babiri bariko bamufasha. 17 Nya misore+ y’abaganwa b’intara z’ubutware isohotse ubwa mbere, Beni-hadadi aca atuma intumwa; nuko baza kumumenyesha bati: “Hari abantu bavuye i Samariya.” 18 Na we avuga ati: “Nimba basohokanywe n’amahoro, mubacakire ari bazima; nimba na ho basohokanywe n’urugamba, mubacakire ari bazima+.” 19 Bano baba ari bo basohoka bavuye mu gisagara, imisore y’abaganwa b’intara z’ubutware be n’inteko za gisirikare zari inyuma yabo. 20 Nuko umwe wese agira uwo yica; Abasiriya+ barahunga+, maze Isirayeli irabakurikira, mugabo Beni-hadadi umwami wa Siriya arashobora kunyaga amagara ari kw’ifarasi kumwe n’abagendera ku mafarasi. 21 Mugabo umwami wa Isirayeli arasohoka, aguma asasika amafarasi n’imikogote+; asasika Abasiriya, inganda ziratikira bimwe bikomeye.
22 Mu nyuma wa muhanuzi+ yegera umwami wa Isirayeli, amubwira ati: “Genda wikomeze+, hanyuma urabe maze ubone ico uzokora+; kuko mu ntango z’umwaka umwami wa Siriya azoduga kukurwanya+.”
23 Nayo abasuku b’umwami wa Siriya, bamubwira bati: “Imana yabo ni Imana y’imisozi+. Ni co catumye baturusha inkomezi. Mugabo rero, tubarwanirize mu ntara ishashe maze turabe yuko tutazobarusha inkomezi. 24 Kora rero iki kintu: Kura abami+, umwe wese mu kibanza ciwe, hanyuma mu kibanza cabo ushireho ba buramatari+. 25 Nayo wewe, wiharurire inteko za gisirikare zingana n’inteko za gisirikare zaguye ku ruhande rwawe, ifarasi ku farasi, n’umukogote ku mukogote; maze tubarwanirize mu ntara ishashe, turabe ko tutazobarusha inkomezi+.” Nuko yumviriza ijwi ryabo, akora gutyo nyene.
26 Maze mu ntango z’umwaka Beni-hadadi akoranya Abasiriya+ hanyuma aduga i Afeki+ kurwanya Isirayeli. 27 Nayo bene Isirayeli, barakoranywa bongera baronswa ibikenewe+ hanyuma batangura gusohoka kugira ngo bahure na bo; bene Isirayeli baja gukambika imbere yabo, nk’imikuku mito rwose ibiri y’impene, mu gihe Abasiriya bobo bari buzuye isi+. 28 Nuko wa muntu w’Imana y’ukuri+ aregera maze abwira umwami wa Isirayeli, egome, avuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ko Abasiriya bavuze ngo: “Yehova ni Imana y’imisozi, si Imana y’ibiyaya vyo hasi,” nzotanga ata kabuza iri sinzi rinini ryose mu kuboko kwawe+, namwe muzomenya koko yuko jewe ndi Yehova+.’”
29 Nuko baguma bakambitse imisi indwi, bamwe imbere y’abandi+. Maze ku musi ugira indwi urugamba ruratangura; bene Isirayeli batangura gusasika Abasiriya, abagabo ibihumbi ijana bari ku maguru mu musi umwe. 30 Abari basigaye bahungira i Afeki+, mu gisagara; maze uruhome rugwa ku bagabo ibihumbi mirongo ibiri n’indwi bari basigaye+. Nayo Beni-hadadi, arahunga+, amaherezo yinjira mu gisagara, mu cumba c’ahitereye+.
31 Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Ehe rero, twarumvise yuko abami b’inzu ya Isirayeli ari abami b’ubuntu bwuzuye urukundo+. Turakwinginze dukenyere amagunira*+ mu kiyunguyungu+, dushire n’imigozi ku mitwe yacu, hanyuma dusohoke, tuje ku mwami wa Isirayeli. Hari aho yokuzigamira ubuzima+.” 32 Bakenyera rero amagunira mu kiyunguyungu cabo, bashira imigozi ku mitwe, hanyuma binjira aho umwami wa Isirayeli ari maze bavuga bati: “Umusuku wawe Beni-hadadi avuze ati: ‘Ndakwinginze ureke mbeho.’” Na we avuga ati: “Mbega aracariho? Ni mwene wacu.” 33 Nuko nya bagabo+ babifata nk’ikimenyetso gitara ibizoba maze bihutira kubifata nk’ingingo we ubwiwe afashe; babandanya rero kuvuga bati: “Beni-hadadi ni mwene wanyu.” Aca avuga ati: “Gende mumuzane.” Maze Beni-hadadi arasohoka, aja aho ari; aca amwuriza mu mukogote+.
34 Maze Beni-hadadi amubwira ati: “Ibisagara+ dawe yatwaye so nzobisubiza; kandi uzokwiha amabarabara i Damasiko nk’uko dawe yayihaye i Samariya.”
Ahabu na we ati: “Mw’isezerano+, ndakurungika.”
Aca agirana isezerano na we hanyuma aramurungika.
35 Nuko umugabo umwe wo mu bahungu b’abahanuzi+ abwira umugenzi wiwe bivuye kw’ijambo+ rya Yehova ati: “Enda nkubita.” Ariko nya mugabo yanka kumukubita. 36 Ku bw’ivyo amubwira ati: “Kubera ko utumvirije ijwi rya Yehova, ehe ugiye gutandukana nanje kandi intambwe irakugarika ata kabuza.” Inyuma y’ivyo, aragenda avuye iruhande yiwe maze intambwe+ iramubona hanyuma iramugarika+.
37 Arondera uwundi mugabo hanyuma amubwira ati: “Enda nkubita.” Nuko uwo mugabo aramukubita; aramukubita aramukomeretsa.
38 Maze uwo muhanuzi aragenda, ahagarara iruhande y’inzira arindiriye umwami; aguma yiyoberanije+ n’igitambara ku maso. 39 Umwami ariko ararengana, asemerera yerekeza ku mwami ati+: “Umusuku wawe yarasohotse aja aho urugamba rushushe; maze ehe umugabo umwe yariko arava aho batonze urugamba; anzanira rero umuntu hanyuma avuga ati: ‘Cunga uyu muntu. Akaramuka abuze, ubuzima bwawe+ buca ata kabuza busubira mu kibanza c’ubuzima bwiwe+, canke na ho urihe italanto y’ifeza+.’ 40 Umusuku wawe yariko aragira utwo akora aha na hariya, uwo muntu aba yagiye.” Umwami wa Isirayeli aca amubwira ati: “Ukwo ni ko urubanza rwawe ruri. Wewe ubwawe uraruciye+.” 41 Aca akura ningoga ca gitambara ku maso yiwe, maze umwami wa Isirayeli aramumenya, abona ko yari uwo mu bahanuzi+. 42 Nuko amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera yuko waretse umuntu nageneye gutikizwa+ akagenda avuye mu kuboko kwawe, ubuzima bwawe buzosubira ata kabuza mu kibanza c’ubuzima bwiwe+, abantu bawe na bo mu kibanza c’abantu biwe+.’” 43 Umwami wa Isirayeli aca aragenda yerekeje ku nzu yiwe, yijiriwe kandi ajonjogoye+, hanyuma ashika i Samariya+.
21 Inyuma y’ivyo, ibi ni vyo vyabaye: hariho umurima w’imizabibu wari uwa Naboti Umuyezireyeli, ukaba wari i Yezireyeli+, hafi y’ikirimba ca Ahabu umwami wa Samariya. 2 Nuko Ahabu abwira Naboti ati: “Numpe+ umurima w’imizabibu wawe+, kugira ngo umbere umurima+ w’imboga+, kuko wegereye inzu yanje; ureke ndaguhe mu kibanza cawo umurima w’imizabibu mwiza kuwurusha. Canke nimba ari vyiza mu maso yawe+, ndaguha amahera bwa kiguzi cawo.” 3 Mugabo Naboti abwira Ahabu ati: “Ni ibitokwiyumvirwa+ kuri jewe, nisunze uko Yehova abona ibintu+, ko noguha intoranwa ya ba sogokuruza banje+.” 4 Nuko Ahabu aja iwe, yijiriwe kandi ajonjogoye kubera ijambo Naboti Umuyezireyeli yari yamubwiye, igihe yavuga ati: “Singuha intoranwa ya ba sogokuruza banje.” Maze aryama ku buriri bwiwe, mu maso hiwe aguma aharabishije ku ruhome+, ntiyarya umukate.
5 Amaherezo Yezebeli+ umugore wiwe yinjira aho ari hanyuma amubwira ati: “Kubera iki wijiriwe+ kandi nturye umukate?” 6 Na we amubwira ati: “Kubera ko navuganye na Naboti Umuyezireyeli nkamubwira nti: ‘Numpe umurima w’imizabibu wawe ku mahera. Canke, nimba ubishimye, ndaguhe uwundi murima w’imizabibu mu kibanza cawo.’ Mugabo avuga ati: ‘Singuha umurima w’imizabibu wanje+.’” 7 Maze Yezebeli umugore wiwe amubwira ati: “Mbega ubu ni wewe uri ku ngoma ya Isirayeli+? Haguruka, urye umukate kandi umutima wawe uryoherwe. Jewe ubwanje ndaguha umurima w’imizabibu wa Naboti Umuyezireyeli+.” 8 Nuko yandika amakete+ mw’izina rya Ahabu araheza ayadomako ikidodo+ ca Ahabu, maze arungikira nya makete abagabo b’inararibonye+ n’abanyacubahiro bari mu gisagara ciwe babana na Naboti. 9 Mugabo muri ayo makete yandika ati+: “Nimutangaze ukwisonzesha maze mwicarike Naboti imbere y’abantu. 10 Hanyuma mwicarike imbere yiwe abagabo babiri+, abantu b’imburakimazi+, maze bashinge intahe imwagiriza+ bati: ‘Wavumye Imana n’umwami+!’ Muheze mumusohore, mumutere amabuye kugira apfe+.”
11 Nuko abagabo b’igisagara ciwe, abagabo b’inararibonye n’abanyacubahiro baba mu gisagara ciwe, bakora nk’uko nyene Yezebeli yari yabatumyeko, nk’uko nyene vyari vyanditswe mu makete yari yabarungikiye+. 12 Batangaza ukwisonzesha+ maze bicarika Naboti imbere y’abantu. 13 Nuko abagabo babiri, abantu b’imburakimazi, barinjira hanyuma bicara imbere yiwe; nya bagabo b’imburakimazi batangura gushinga intahe imwagiriza, ni ukuvuga Naboti, imbere y’abantu, bati: “Naboti yavumye Imana n’umwami+!” Inyuma y’ivyo baramusohora, bamujana ku mubari w’igisagara baraheza bamutera amabuye, ku buryo apfa+. 14 Hanyuma batuma kuri Yezebeli bati: “Naboti yatewe amabuye arapfa+.”
15 Yezebeli akimara kwumva yuko Naboti yari yatewe amabuye ku buryo apfa, aca abwira Ahabu ati: “Haguruka wigarurire wa murima w’imizabibu wa Naboti Umuyezireyeli+, umwe yanka kuguha ku mahera; kuko Naboti atakiriho, mugabo yapfuye.” 16 Ahabu akimara kwumva ko Naboti yapfuye, aca arahaguruka ngo amanuke ku murima w’imizabibu wa Naboti Umuyezireyeli, kugira ngo awigarurire+.
17 Nuko ijambo rya Yehova+ riza kuri Eliya+ Umutishibe riti: 18 “Haguruka, umanuke guhura na Ahabu umwami wa Isirayeli, uwuri i Samariya+. Ehe ari mu murima w’imizabibu wa Naboti, aho yamanutse kugira ngo awigarurire. 19 Umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega wishe+ wongera urigarurira+?”’ Wongere umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ahantu+ imbwa zarigatiye amaraso ya Naboti ni ho zizorigatira amaraso yawe, egome, ayawe+.”’”
20 Maze Ahabu abwira Eliya ati: “Wandonse ga wa mwansi wanje we+?” Na we ati: “Nakuronse. ‘Kubera ko wihebeye gukora ibibi mu maso ya Yehova+, 21 ehe ngira nzane ivyago kuri wewe+; nzokubura koko inyuma yawe noganze+ nongere ndandure kwa Ahabu umuntu w’igitsina-gabo wese*+ n’uwutagira gitabara kandi atagira ico amaze muri Isirayeli. 22 Kandi inzu yawe nzoyigira nk’inzu ya Yerobowamu+ mwene Nebati nongere ndayigire nk’inzu ya Bayasha+ mwene Ahiya, kubera ukubabaza wambabarishije, maze ugatuma Isirayeli icumura+.’ 23 Ku bijanye na Yezebeli na ho nyene, Yehova avuze ati: ‘Egome, imbwa zizorira Yezebeli mu gihimba c’itongo c’i Yezireyeli+. 24 Uwo mu ba Ahabu wese azopfira mu gisagara imbwa zizomurya; uwuzopfira mu gahinga wese na we, ibiguruka vyo mu kirere bizomurya+. 25 Ni ukuri, nta n’umwe yabaye nka Ahabu+, uwihebeye gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, ari na we Yezebeli+ umugore wiwe yasutse+. 26 Maze atangura gukora mu buryo buteye ishishi rwose mu gukurikira ibigirwamana vy’umwanda+, nk’uko Abamori bose bari barakoze, abo Yehova yirukanye bakava imbere ya bene Isirayeli+.’”
27 Ahabu akimara kwumva ayo majambo, atantamura impuzu ziwe yongera ashira igunira+ ku mubiri wiwe; atangura kwisonzesha, aguma aryama mw’igunira kandi agenda yiraburaniwe+. 28 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Eliya Umutishibe riti: 29 “Mbega wabonye ukuntu Ahabu yicishije bugufi kubera jewe+? Ko yicishije bugufi kubera jewe, sinzozana ivyo vyago mu misi yiwe+. Mu misi y’umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe+.”
22 Nuko babandanya kubaho imyaka itatu ata ntambara ibaye hagati ya Siriya na Isirayeli. 2 Maze mu mwaka ugira gatatu, Yehoshafati+ umwami wa Yuda amanuka ku mwami wa Isirayeli. 3 Umwami wa Isirayeli abwira rero abasuku biwe ati: “Ubwo koko murazi yuko Ramoti-gileyadi+ ari iyacu? Yamara turiko tugonanwa kuyikura mu kuboko kw’umwami wa Siriya.” 4 Nuko abwira Yehoshafati ati: “None uzojana nanje mu ndwano i Ramoti-gileyadi+?” Yehoshafati aca abwira umwami wa Isirayeli ati: “Ndi nkawe. Abantu banje ni nk’abantu bawe+. Amafarasi yanje ni nk’amafarasi yawe.”
5 Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: “Ndakwinginze ubanze ubaze+ ijambo rya Yehova.” 6 Nuko umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi+, abagabo nk’amajana ane, maze ababwira ati: “Ngende gutera Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke?” Na bo batangura kuvuga bati: “Duga+, kandi Yehova azohatanga mu kuboko kw’umwami.”
7 Mugabo Yehoshafati avuga ati: “Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova asigaye? Dusiguze rero biciye kuri we+.” 8 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: “Haracasigaye umugabo umwe twocishako mu gusiguza Yehova+; mugabo jewe ndamwanka+, kuko atabūra ibintu vyiza ku binyerekeye atari ibibi+, na we akaba ari Mikaya mwene Imula.” Ariko Yehoshafati avuga ati: “Umwami yoye kuvuga ikintu nk’ico+.”
9 Nuko umwami wa Isirayeli ahamagara umukozi umwe wo ku kirimba+ maze avuga ati: “Nuzane ningoga Mikaya mwene Imula+.” 10 Kandi umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda bari bicaye umwe wese ku ntebe y’ubwami yiwe, bambaye impuzu za cami+, ku mbuga y’ikubitiro, ku bwinjiriro bw’irembo rya Samariya; abahanuzi bose bariko bakora bwa bahanuzi imbere yabo+. 11 Maze Zedekiya mwene Kenayana yihingurira amahembe y’icuma hanyuma avuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze+: ‘Aya ni yo uzosunikisha Abasiriya gushika ubatikije+.’” 12 N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga gutyo nyene, bati: “Duga i Ramoti-gileyadi kandi uroranirwe; Yehova azohatanga ata gukeka mu kuboko kw’umwami+.”
13 Ya ntumwa yari yagiye guhamagara Mikaya imubwira iti: “Umve, amajambo y’abahanuzi ni meza yose ku bijanye n’umwami. Ndakwinginze ijambo ryawe ribe nk’ijambo ry’umwe muri bo, uvuge iciza+.” 14 Mugabo Mikaya avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, ivyo Yehova aza kumbwira, ni vyo nza kuvuga+.” 15 Maze yinjira aho umwami ari, hanyuma umwami amubwira ati: “Mikaya, tuje i Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke tureke?” Aca amubwira ati: “Duga kandi uroranirwe; Yehova azohatanga ata gukeka mu kuboko kw’umwami+.” 16 Umwami aca amubwira ati: “Ni kangahe nkurahiza yuko ata kindi ukwiye kumbwira atari ukuri mw’izina rya Yehova+?” 17 Na we avuga ati: “Ndabona koko Abisirayeli bose basanzaye+ ku misozi, nk’intama zitagira umwungere+. Yehova avuga kandi ati: ‘Abo ntibagira ba shebuja. Nibasubire inyuma, umwe wese yigire ku nzu yiwe amahoro+.’”
18 Maze umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati ati: “Sinakubwiye nti: ‘Ntaza kubûra ibintu vyiza ku binyerekeye, atari ibibi+’?”
19 Mikaya abandanya kuvuga ati: “Niwumve rero ijambo rya Yehova+: Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe+, n’ingabo zose zo mu majuru zihagaze iruhande yiwe, iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe+. 20 Maze Yehova avuga ati: ‘Ni nde aza guhenda Ahabu, kugira ngo aduge hanyuma agwe i Ramoti-gileyadi?’ Umwe atangura kuvuga uku, uwundi na we akavuga kuriya+. 21 Amaherezo impwemu+ imwe irasohoka, ihagarara imbere ya Yehova, ivuga iti: ‘Jewe ndamuhenda.’ Yehova aca ayibwira ati: ‘Gute+?’ 22 Na yo iti: ‘Ndasohoka, maze ncike koko impwemu ihendana mu kanwa k’abahanuzi+ biwe bose.’ Avuga rero ati: ‘Uraza kumuhenda; n’ikindi kandi, uratahukana intsinzi+. Sohoka ugire gutyo+.’ 23 Ehe rero Yehova yashize impwemu ihendana mu kanwa k’abo bahanuzi bawe bose+; mugabo Yehova ubwiwe yavuze ivyago ku bikwerekeye+.”
24 Nuko Zedekiya mwene Kenayana aregera, akubita Mikaya kw’itama+ hanyuma avuga ati: “Mbega impwemu ya Yehova yaciye hehe ivuye muri jewe kugira ngo ivugane nawe+?” 25 Mikaya aca avuga ati: “Ehe uzobona aho yaciye aho ari ho kuri urya musi uzokwinjira mu cumba c’ahitereye+ kwinyegeza+.” 26 Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: “Fata Mikaya umusubize kuri Amoni umukuru w’igisagara no kuri Yowasi umuhungu w’umwami+. 27 Uheze uvuge uti: ‘Ibi ni vyo umwami avuze+: “Shire uyu mugabo mu nzu y’ibohero+, mumugaburire ingaburo y’umukate+ igabanijwe be n’ingaburo y’amazi igabanijwe, gushika ntashe amahoro+.”’” 28 Mikaya aca avuga ati: “Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.” Yongerako ati: “Nimwumve, yemwe bisata vy’abantu mwese+.”
29 Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda baduga i Ramoti-gileyadi+. 30 Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: “Ndaza kwiyoberanya maze ninjire mu rugamba+, mugabo wewe, wambare impuzu zawe za cami+.” Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya+ araheza yinjira mu rugamba+. 31 Nayo umwami wa Siriya, yari yategetse ba bakuru mirongo itatu na babiri+ b’imikogote yiwe ati: “Ntimurwanye umuto canke uwukomeye, mugabo murwanye umwami wa Isirayeli wenyene+.” 32 Nya bakuru b’imikogote bakimara kubona Yehoshafati, bibwira bati: “Nta gukeka ni umwami wa Isirayeli+.” Barahindukira rero kugira bamurwanye; maze Yehoshafati atangura gutabaza+. 33 Nya bakuru b’imikogote bakibona yuko atari umwami wa Isirayeli, baca basubira inyuma bareka kumukurikira+.
34 Nuko umugabo umwe apfa gufora umuheto ata mugambi mubi abigiranye, mugabo arasa umwami wa Isirayeli aho ibindi bihimba vy’ibirwanisho vyahurira n’umwitero w’ivyuma, ku buryo abwira uwumutwara mu mukogote+ ati: “Hindukiza ukuboko kwawe, unkure mw’ikambi, kuko nakomerekejwe bimwe bibi.” 35 Urugamba rurushiriza gukomera kuri uwo musi, biba ngombwa ko umwami aguma ahagaritswe mu mukogote arabana n’Abasiriya, amaherezo ku mugoroba arapfa+; kandi amaraso y’igikomere aguma aseseka imbere mu mukogote w’intambara+. 36 Akamo karenga gatangura guca mw’ikambi nko mu gihe c’ukurenga kw’izuba, kavuga gati: “Umuntu wese naje mu gisagara ciwe, kandi umuntu wese naje mu gihugu ciwe+!” 37 Gutyo umwami arapfa. Ajanywe i Samariya, bamuhamba rero i Samariya+. 38 Nuko batangura kwoza nya mukogote w’intambara iruhande y’ikidengeri c’i Samariya, maze imbwa zirigata amaraso yiwe+ (kandi abamaraya biyuhagira ng’aho), nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yaravuze+.
39 Nayo ibisigaye mu vya Ahabu be n’ivyo yakoze vyose n’inzu y’amasenge+ yubatse be n’ibisagara vyose yubatse, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 40 Amaherezo Ahabu aryama hamwe na ba sekuruza+; nuko Ahaziya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
41 Nayo Yehoshafati+ mwene Asa, yari yabaye umwami wa Yuda mu mwaka ugira kane wa Ahabu umwami wa Isirayeli. 42 Yehoshafati yari afise imyaka mirongo itatu n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo ibiri n’itanu aganza i Yeruzalemu; nyina yitwa Azuba umukobwa wa Shilihi. 43 Aguma agendera mu nzira yose ya Asa se wiwe. Ntiyakevya ngo ayivemwo, akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+. Gusa, ibibanza bikirurutse ntivyazimangana. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+. 44 Yehoshafati yari afitaniye imigenderanire irangwa amahoro n’umwami wa Isirayeli+. 45 Nayo ibisigaye mu vya Yehoshafati n’ubushobozi yakoranye be n’ingene yarwanye intambara, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 46 Kandi abasigaye mu bamaraya b’abagabo b’urusengero+ bari barasigaye mu misi ya Asa se wiwe, abakura mu gihugu+.
47 Ku bijanye n’umwami, nta wariho muri Edomu+; icariho ni we yari umwami+.
48 Yehoshafati akora imeri z’i Tarushishi+ kugira zije i Ofiri kuzana inzahabu; mugabo ntizagenda, kubera yuko izo meri zasabiye i Eziyoni-geberi+. 49 Ico gihe ni ho Ahaziya mwene Ahabu yabwira Yehoshafati ati: “Abasuku banje nibajane n’abasuku bawe muri izo meri,” mugabo Yehoshafati ntiyavyemera+.
50 Amaherezo Yehoshafati aryama hamwe na ba sekuruza biwe+ hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Dawidi+ sekuruza wiwe; nuko Yehoramu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
51 Nayo Ahaziya+ mwene Ahabu, aba umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira cumi n’indwi wa Yehoshafati umwami wa Yuda, aganza Isirayeli imyaka ibiri. 52 Abandanya gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova, kandi aguma agendera mu nzira ya se+ no mu nzira ya nyina+ no mu nzira ya Yerobowamu+ mwene Nebati, uwari yaracumuje Isirayeli+. 53 Aguma akorera Bayali+ yongera ayunamira, kandi aguma ababaza+ Yehova Imana ya Isirayeli yisunze ivyo se wiwe yari yarakoze vyose.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “amasandali.”
Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “nzorehura n’imisi yawe.”
Koro imwe yangana n’amalitiro 220.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
“Inzu yegukira Ibaraza” ishobora kuba yerekeza kw’Ibaraza ry’Intebe y’ubwami.
Bisobanura ngo “Azoshimangira ubutanyiganyiga.”
Bishobora kuba bisobanura ngo “Mu Nkomezi,” bikaba bibwirizwa gusomwa inyuma y’izina ry’iyo yindi nkingi “Yakini.”
Nk’amalitiro 44.000. Ingero ya bati yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya 11.
Igitigiri nta kirimwo mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango.
Raba Inyongera ya 21.
Kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “mu kiyunguyungu cawe.”
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “Igihugu kimeze nk’ubusa.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ntihasubira kuba impemu muri we.”
Canke, “mu ntara yo hasi.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “woroshe mu maso ha.”
Ijambo ku rundi ni “umuntu wese yihagarika ku ruhome”. Iyo ni imvugo y’igiheburayo yerekeza ku bantu b’igitsina-gabo.
Raba 1Bm 14:10, akajambo k’epfo.
Seya yangana n’amalitiro 7,33.
Raba Inyongera ya 21.
Raba 1Bm 14:10, akajambo k’epfo.