Yoweli
1 Ng’iri ijambo rya Yehova ryaje+ kuri Yoweli mwene Petuweli:
2 “Nimwumve ibi, yemwe bagabo b’inararibonye, mutege ugutwi yemwe ababa mu gihugu mwese+. Mbega ibi vyarigeze kuba mu misi yanyu, canke mbere mu misi ya ba sogokuruza banyu+? 3 Nimuvyiganire abana banyu, abana banyu bavyiganire abana babo, abana babo na bo bavyiganire iyaruka rikurikira+. 4 Ivyasigajwe n’ikinyabwoya, uruzige rwabiriye+; kandi ivyasigajwe n’uruzige, uruzige rutagira amababa rwikwega hasi rwabiriye; kandi ivyo uruzige rutagira amababa rwikwega hasi rwasigaje, inyenzi yabiriye+.
5 “Ikangure mwa mborerwa+ mwe, murire; nimuboroge+, mwa banywi b’umuvinyu mwese, kubera umuvinyu usosa+, kuko ukuwe ku minwa yanyu+. 6 Kuko hari ihanga riduze mu gihugu canje, ihanga ry’inkomezi kandi ritagira igitigiri+. Amenyo yaryo ni amenyo y’intambwe+, kandi rifise imibangabanga y’intambwe. 7 Umuzabibu wanje riwugize akajoreza+, igiti canje c’umusukoni na co rigisiga ari igishitsi+. Ryagikokoye rigisiga amenya, riragishibura+. Amashami yaco asigaye yera. 8 Nimuboroge, nk’uko umwigeme w’isugi akenyeye igunira*+ aborogera uwomubereye umugabo mu buto bwiwe.
9 “Ishikanwa ry’intete+ be n’ishikanwa ry’ikinyobwa+ vyatswe inzu ya Yehova; abaherezi, abasuku+ ba Yehova, bagandaye+. 10 Umurima wanyazwe+, ubutaka bwagiye mu kigandaro+; kuko intete zinyazwe, umuvinyu mushasha wakamijwe+, amavuta yadorongeye+. 11 Abarimyi bamaramaye+; abakozi bo mu murima w’imizabibu baboroze, kubera ingano no kubera sayiri*; kuko umwimbu w’umurima watikiye+. 12 Umuzabibu wumye, mbere n’igiti c’umusukoni cayāmye. Nayo igiti c’ikomamanga, n’ikigazi be n’igiti c’ipome, ibiti vyose vyo mu murima, vyumye+; kuko umwigino wamaramaye ugahunga abana b’abantu+.
13 “Nimukenyere, mwikubitagure ku bikiriza+, yemwe baherezi. Nimuboroge, yemwe basuku bo ku gicaniro*+. Nimwinjire, murare mu magunira, yemwe basuku b’Imana yanje; kuko bimye inzu y’Imana yanyu ishikanwa ry’intete+ n’ishikanwa ry’ikinyobwa+. 14 Nimweze igihe co kwisonzesha+. Nimukoranye ikoraniro ry’agakūra+. Nimukoranirize hamwe abagabo b’inararibonye, ababa mu gihugu bose, mubakoranirize ku nzu ya Yehova Imana yanyu+, mutabaze Yehova+.
15 “Ewe musi uraho+! kuko umusi wa Yehova uri hafi+, kandi uzoza nk’ukunyaga kuvuye kuri Mushoboravyose! 16 Mbega ibifungurwa ntibikuwe imbere y’amaso yacu, umunezero n’akanyamuneza bigakurwa mu nzu y’Imana yacu+? 17 Insukoni zumye zikabiraniye munsi y’ibiyozo vyazo. Ibigega bisizwe ari umusaka. Inzu z’ubushinguro zasambuwe, kuko intete zumye. 18 Ewe kuntu ibitungwa vyanishe! Ewe kuntu ubusho bw’inka bwayerereye bujuragirika! Kuko butagira uburagiriro+. Ubusho bw’intama na bwo nyene bugizwe ubwo kwagirwa n’icaha.
19 “Ni wewe nzohamagara, ewe Yehova+; kuko umuriro warigase amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga, n’urubeya rukayigiza ibiti vyose vyo mw’ishamba+. 20 N’ibikoko vyo mw’ishamba bicambirwa wewe+, kubera ko imigezi y’amazi yakamye+, n’umuriro warigase amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga.”
2 “Nimuvuze inzamba i Siyoni+, mukome akaruru k’intambara+ ku musozi wanje mweranda+. Ababa mu gihugu bose nibahagarike umutima+; kuko umusi wa Yehova uriko uraza+, kuko uri hafi! 2 Ni umusi w’umwiza n’umuzimagiza+, umusi w’ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya, nk’umuco w’umutwenzi utambitse ku misozi+.
“Hari igisata kigwiriye kandi gikomeye+; nta kimeze nka co cigeze kubaho kuva mu bihe vya kera bitagira urugero*+, kandi mu nyuma zaco nta kizokwongera kubaho gushika mu myaka izoza uko iyaruka rikurikira irindi. 3 Imbere yaco umuriro warigase+, inyuma yaco na ho urubeya ruratongora+. Imbere yaco igihugu kimeze nka wa murima wa Edeni+, mugabo inyuma yaco ni agahinga k’umusaka; emwe, nta na kimwe gicika kw’icumu.
4 “Gifise ishusho nk’iy’amafarasi, kandi baguma biruka nk’amafarasi y’imbangutsi+. 5 Baguma bikina amatavu ukamengo ni urwamo rw’imikogote ku masonga y’imisozi+, ukamengo ni urwamo rw’umuriro ururumba urigata ibishakara+. Ni nk’igisata gikomeye, gitonze urugamba+. 6 Ibisata vy’abantu bizogira ububabare bukaze kubera co+. Nayo mu maso ha bose, ntihazobura kujonjogora+.
7 “Biruka nk’abanyabubasha+. Burira uruhome nk’abarwanyi. Umwe wese muri bo ajana inzira ziwe bwite, kandi ntibahindura iminyuro yabo+. 8 Ntibasunikana. Baguma bagenda nk’umugabo ari mu nzira yiwe; bishitse bamwe bakagwa mu myampi, abandi ntibahagarara.
9 “Bitera mu gisagara. Biruka ku ruhome. Burira ku mazu. Binjirana mu madirisha nk’igisuma. 10 Imbere y’ico gisata igihugu kirahagaritse umutima, amajuru yatigise. Izuba n’ukwezi vyacuze umwiza+, inyenyeri na zo zidohora ukwakaka kwazo+. 11 Emwe, Yehova ubwiwe azokwumvikanisha ijwi ryiwe+ imbere y’inteko ziwe za gisirikare+, kuko ikambi yiwe igwiriye cane+. Kuko uwushitsa ijambo ryiwe ari uw’inkomezi; kuko umusi wa Yehova uhambaye+ kandi uteye ubwoba cane; kandi ni nde yowihanganira+?”
12 “Kandi n’ubu nyene,” ni ko Yehova avuze, “nimungarukeko n’imitima yanyu yose+, mwisonzesha+, murira, muboroga+. 13 Nimutantamure imitima yanyu+, si impuzu zanyu+; nimugaruke kuri Yehova Imana yanyu, kuko ari umunyempuhwe n’umunyembabazi+, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, na we ntazobura kwicuza kuri ivyo vyago+. 14 Ni nde azi ko atazohindukira akicuza vy’ukuri+, inyuma yavyo agasiga umuhezagiro+, ari wo shikanwa ry’intete n’ishikanwa ry’ikinyobwa ku bwa Yehova Imana yanyu?
15 “Nimuvuze inzamba i Siyoni+. Nimweze igihe co kwisonzesha+. Nimukoranye ikoraniro ry’agakūra+. 16 Nimukoranirize hamwe abantu. Nimweze ishengero+. Nimwegeranirize hamwe abatama. Nimukoranirize hamwe abana n’abonka+. Umukwe nasohoke ave mu cumba ciwe, n’umugeni ave mu cumba ciwe c’ubugeni.
17 “Hagati y’ibaraza n’igicaniro+, abaherezi, abasuku ba Yehova, nibarire bavuge bati: ‘Umvira akagongwe abantu bawe, Yehova we, kandi intoranwa yawe ntuyigire iceyi+, ngo amahanga abaganze. Kubera iki bokwirirwa baravugira mu bisata vy’abantu ngo: “Mbega Imana yabo iri he+?”’ 18 Yehova azogirira umwete igihugu ciwe+, agirire impuhwe abantu biwe+. 19 Kandi Yehova azokwishura abantu biwe ati: ‘Ehe ngira ndabarungikire intete n’umuvinyu mushasha n’amavuta, namwe ntimuzobura guhazwa na vyo+; kandi sinzokwongera kubagira iceyi mu mahanga+. 20 Umunyaburaruko+ nzomubakurako ndamushire kure yanyu, ndamushwiragirize koko mu gihugu kigadutse, ahantu h’igiharabuga, mu maso hiwe haraba ku kiyaga co mu buseruko+, igice ciwe c’inyuma na co kiraba ku kiyaga co mu burengero+. Kandi umuduhu umuvako uzoduga koko, umunuko umuvako na wo ugume uduga+; kuko vy’ukuri Imana izokora ikintu gikomeye mu vyo ikora.’
21 “Ntugire ubwoba, butaka we! Nunezerwe uhimbarwe; kuko vy’ukuri Yehova azokora ikintu gikomeye mu vyo akora+. 22 Ntimugire ubwoba, mwa bikoko vyo mu gahinga+, kuko amatongo y’uburagiriro yo mu gahinga atazobura gutotahara+. Kuko igiti kizotanga koko ivyamwa vyaco+. Igiti c’umusukoni be n’umuzabibu ntibizobura gutanga inkomezi zavyo+. 23 Namwe bana ba Siyoni, nimunezerwe muhimbarwe muri Yehova Imana yanyu+; kuko atazobura kubaha imvura y’agatasi ku rugero rukwiriye+, kandi azobacuncuburirako imvura, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi, nko mu ntango+. 24 Emwe, imbuga z’ikubitiro zizokwuzura intete zisukuye, n’ibikono muganiramwo bisesekare umuvinyu mushasha n’amavuta+. 25 Nzobashumbusha ku myaka yariwe n’uruzige be n’uruzige rutagira amababa rwikwega hasi, n’inyenzi n’ikinyabwoya, za nteko zanje za gisirikare zikomeye nabarungikamwo+. 26 Emwe, muzorya, murye muhage+, kandi ntimuzobura gushemeza izina rya Yehova Imana yanyu+ yabakoreye ibintu vy’agatangaza gutyo+; kandi abantu banje ntaho bazomaramara, gushika igihe kitagira urugero+. 27 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko ndi hagati muri Isirayeli+, be n’uko jewe ndi Yehova Imana yanyu kandi ko ata wundi ariho+. Kandi abantu banje ntaho bazomaramara, gushika igihe kitagira urugero.
28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe. 29 Kandi nzosuka impwemu yanje mbere no ku basuku n’abasukukazi muri iyo misi+.
30 “Kandi nzotanga ibitangaza mu majuru+ no kw’isi, amaraso n’umuriro n’inkingi z’umwotsi+. 31 Izuba rizohinduka umwiza+, ukwezi guhinduke amaraso+, imbere y’uko haza wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova+. 32 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira+; kuko ku musozi Siyoni be n’i Yeruzalemu hazoboneka abacitse kw’icumu+, nk’uko Yehova yavuze, no mu barokotse, abo Yehova ahamagara+.”
3 “Kuko ehe, muri iyo misi no muri ico gihe+, ninagarukana imbohe za Yuda na Yeruzalemu+, 2 nzokoraniriza hamwe rero amahanga yose+, ndayamanukane mu kiyaya co hasi ca Yehoshafati+; kandi nzobūranirayo na bo kubera abantu banje n’intoranwa yanje Isirayeli+, abo basanzaje mu mahanga; kandi bagabaguye igihugu canje+. 3 Bagumye bapfindira ubupfindo abantu banje+, bagatanga umwana w’umuhungu bamukavye umumaraya+, umwana w’umukobwa bakamugurisha bamukavye umuvinyu, ngo binywere.
4 “Namwe none, muhuriye ku ki nanje ga yemwe Tiro na Sidoni+ na mwebwe turere twa Filisitiya+? Mbega ivyo ni vyo mungirira nka yo mpembo mumpaye? Nimba ivyo ari vyo mungirira, nzobibishura ningoga, bimwe vyihuta, muvyikorere ku mitwe yanyu+. 5 Kuko mwatwaye ifeza yanje n’inzahabu yanje+, ibintu vyanje vyiza bihimbaye mukabizana mu nsengero zanyu+; 6 abana ba Yuda be n’abana ba Yeruzalemu mwarabagurishije+ ku bana b’Abagiriki+, kugira ngo mubomorere kure y’akarere kabo bwite+; 7 ehe ngira ndabavyure baze bavuye iyo mwabagurishije+, kandi ivyo mwagize nzobibishura muvyikorere ku mitwe yanyu+. 8 Abahungu banyu n’abakobwa banyu nzobagurisha mu kuboko kw’abana ba Yuda+, na bo babagurishe ku bantu b’i Sheba+, kw’ihanga rya kure+; kuko Yehova ubwiwe abivuze.
9 “Nimutangaze ibi mu mahanga+, muti: ‘Nimweze intambara! Nimuvyure abanyabubasha+! Nibigire hafi! Abarwanyi bose nibaduge+! 10 Nimuhondagure ibirimisho vyanyu mubikuremwo inkota, n’imihoro yo gututūra muyikuremwo+ amacumu. Nayo uwuri goyigoyi, navuge ati: “Ndi umunyabubasha+.” 11 Nimugire ico mufashije, muze, yemwe mahanga mwese muri hirya no hino+, mwikoranirize hamwe+.’”
Manukana abanyabubasha bawe muri ico kibanza, Yehova we+!
12 “Amahanga navyuke, aduge mu kiyaya co hasi ca Yehoshafati+; kuko ari ho nzovyagira ngo ncire imanza amahanga yose ari hirya no hino+.
13 “Nimutume agakero+, kuko ivyimburwa vyeze+. Nimuze, nimumanuke, kuko uruganiro rw’umuvinyu rwuzuye+. Ibikono vyo kuganiramwo birasesekaye; kuko ububi bwabo bwagwiriye+. 14 Amasinzi, amasinzi ari mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo+, kuko umusi wa Yehova uri hafi, mu kiyaya co hasi co gushitsa ingingo+. 15 Izuba n’ukwezi ntibizobura gucura umwiza, n’inyenyeri zikadohora ukwakaka kwazo+. 16 Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe, yumvikanishirize ijwi ryiwe i Yeruzalemu+. Emwe, ijuru n’isi bizotigita+; ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe+, abere n’iboma bene Isirayeli+. 17 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+, umwe aba i Siyoni wa musozi wanje mweranda+. Kandi Yeruzalemu hategerezwa gucika ahantu heranda+; nayo ab’ahandi, ntibazokwongera kuhaca+.
18 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+, imirambi itembe amata, n’inzira z’imigezi za Yuda zose zitembe amazi. Kandi imbizi izotemba ivuye mu nzu ya Yehova+, inyoshe umwonga w’Ibiti vy’Iminyinya+. 19 Nayo Misiri, izocika igiharabuga+; Edomu na yo izocika agahinga k’igiharabuga+, kubera ubukazi bagiriye abana ba Yuda, bagasēsa mu gihugu c’abo bana ba Yuda amaraso y’intungane+. 20 Ariko Yuda yoyo, bazoyibamwo gushika igihe kitagira urugero+, Yeruzalemu bayibemwo uko iyaruka rikurikira irindi+. 21 Amaraso yabo ntahora mfata ko ari ay’intungane, nzoyafata ko ari ay’intungane+; kandi Yehova azoba i Siyoni+.”
Raba Inyongera ya 21.
“Sayiri” ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.