Amosi
1 Amajambo ya Amosi, uwari mu borozi b’intama b’i Tekowa+, ayo yeretswe ku vyerekeye Isirayeli+ mu misi ya Uziya+ umwami wa Yuda no mu misi ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli, imyaka ibiri imbere y’uko haba ya nyamugigima+. 2 Avuga ati:
“Yehova azorohera i Siyoni nk’intambwe+, kandi azokwumvikanishiriza ijwi ryiwe i Yeruzalemu+; kandi amatongo y’uburagiriro y’abungere azoja mu kigandaro, n’isonga rya Karumeli rizokwuma+.”
3 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘“Kubera imigararizo itatu ya Damasiko+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko bakubitishije Gileyadi+ ibisekuzo vy’icuma. 4 Nanje nzorungika umuriro+ ku nzu ya Hazayeli+, urigate iminara yo kubamwo ya Beni-hadadi+. 5 Nzovuna igihindizo ca Damasiko+, i Bikati-aveni ndaharandure uwuhaba, n’i Beti-ede ni ndaharandure uwufashe agakoni k’ubutware; kandi abantu b’i Siriya bazobwirizwa kuja i Kiri ari inyagano+,” ni ko Yehova avuze.’
6 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘“Kubera imigararizo itatu ya Gaza+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko batwaye mu bunyagano umugwi ukwiye w’abagizwe inyagano+ ngo bawugabure kuri Edomu+. 7 Nanje nzorungika umuriro ku ruhome rwa Gaza+, urigate iminara yaho yo kubamwo. 8 Kandi i Ashidodi+ nzoharandura uwuhaba, n’i Ashikeloni+ ndaharandure uwufashe agakoni k’ubutware; nzogarukana ukuboko kwanje+ kuri Ekuroni+, kandi abasigaye bo mu Bafilisitiya bazoyogera ata kabuza+,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’
9 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera imigararizo itatu ya Tiro+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko bagabuye kuri Edomu umugwi ukwiye w’abagizwe inyagano, no kubera ko batibutse isezerano ry’abavukana+. 10 Nanje nzorungika umuriro ku ruhome rwa Tiro, urigate iminara yaho yo kubamwo+.’
11 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera imigararizo itatu ya Edomu+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko yakurikiranye mwene wabo bwite n’inkota+, no kubera ko yononye kamere ziwe bwite z’imbabazi+, n’ishavu ryiwe rikaguma ritabagura ibihe bidahera; uburake bwiwe na bwo yabugumanye ibihe vyose+. 12 Nanje nzorungika umuriro i Temani+, urigate iminara yo kubamwo y’i Bozira+.’
13 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘“Kubera imigararizo itatu ya bene Amoni+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma+, kuko bafomoje abagore bibungenze b’i Gileyadi, mu ntumbero yo kwiyagurira akarere+. 14 Nanje nzokwanda umuriro uruhome rw’i Raba+, urigate iminara yaho yo kubamwo, bibe havuga ikimenyetso c’ukugabisha ku musi w’urugamba, hahuhuta igihuhusi ku musi w’umuyaga w’ikirura+. 15 Kandi umwami wabo azoja mu bunyagano ata kabuza, ajane n’abaganwa biwe+,” ni ko Yehova avuze.’
2 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘“Kubera imigararizo itatu ya Mowabu+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko yaturiye amagufa y’umwami wa Edomu kugira ngo aronke ishwagara+. 2 Nanje nzorungika umuriro muri Mowabu, urigate iminara yo kubamwo y’i Keriyoti+; kandi Mowabu azopfira mu rwamo, bibe havuga ikimenyetso c’ukugabisha, humvikana ijwi ry’inzamba+. 3 Kandi nzoharandura umucamanza, ndamwicane n’abaganwa baho bose+,” ni ko Yehova avuze.’
4 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera imigararizo itatu ya Yuda+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko bataye itegeko rya Yehova+, no kubera ko batagumije ingingo nyobozi ziwe; ariko ibinyoma vyabo+ ba sekuruza babo bari barakurikiye, vyagumye bituma bangara+. 5 Nanje nzorungika umuriro muri Yuda, urigate iminara yo kubamwo ya Yeruzalemu+.’
6 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Kubera imigararizo itatu ya Isirayeli+, kandi kubera ine, sinzobisubiza inyuma, kuko bagurishije umugororotsi ifeza igaragara, umworo na we bakamugurisha ikiguzi c’umwambaro w’inkweto*+. 7 Bahezagirika bipfuza kubona umukungugu w’isi ku mutwe w’abantu batobato+; bacisha ku ruhande inzira y’abatekereza+; kandi umuhungu na se ba giye ku mukobwa umwe+, mu ntumbero yo guhumanya izina ryanje ryeranda+. 8 Bigaramangira ku mpuzu zafashweko ingwati+, iruhande y’igicaniro* cose+; kandi umuvinyu w’abaciwe amande bawunywera ku nzu y’imana zabo+.’
9 “‘Nayo jewe, nari nazimanganije Umwamori+ kubera bo, uwari n’igihagararo nk’ic’amasederi, agakomera nk’ibiti bisagaraye+; kandi nazimanga nije n’icamwa ci we hejuru, n’imizi yi we ha si+. 10 Kandi je we narabazanye ndabakuye mu gihugu ca Misiri+, ndabacisha mu gahinga imyaka mirongo ine+, kugira ngo mwiga rurire igihugu c’Umwamori+. 11 Kandi nagumye mpagurutsa bamwe mu bana banyu ngo babe abahanuzi+, na bamwe mu misore yanyu ngo babe Abanaziri*+. None mu vy’ukuri, si ko bikwiye kuba ga yemwe bene Isirayeli?’, ni ko Yehova avuze.
12 “‘Ariko mwagumye muha Abanaziri umuvinyu ngo banywe+, abahanuzi mubategeka ngo: “Ntimukavuge ubuhanuzi+.” 13 Ehe ngira ntume ikiri munsi yanyu kijugumba, nka kurya nyene umukogote ujugumba iyo unihiriye imikama y’ibinyantete ihejeje gutemwa. 14 Aho guhungira hazokamangana uwunyaruka ahabure+, kandi nta wukomeye n’umwe azoshimangira ububasha bwiwe, eka nta munyenkomezi n’umwe azonyaga amagara+. 15 Nta muntu n’umwe akoresha umuheto azohagarara, kandi nta w’ibirenge binyaruka azocoroka, eka nta wugendera kw’ifarasi n’umwe azonyaga amagara+. 16 Nayo uw’umutima ukomeye mu banyenkomezi, azohunga ari gusa kuri uwo musi+,’ ni ko Yehova avuze.”
3 “Nimwumve iri jambo Yehova avuze ku biberekeye+, yemwe bene Isirayeli, ku vyerekeye umuryango wose naduganye ndawukuye mu gihugu ca Misiri+, ati: 2 ‘Ni mwebwe gusa namenye+ mu miryango yose yo ku butaka+. Ni co gituma nzogira ico ndababaza ku makosa yanyu yose+.
3 “‘Mbega babiri bojana batahuye kw’isango bahanye+? 4 Mbega intambwe yorohera mu kibira ata co yacakiye+? Mbega intambwe y’umukangara y’umugāra yokwumvikanishiriza ijwi ryayo mu bwikingo bwayo ata co yafashe namba? 5 Mbega inyoni yogwa mu mutego hasi ata mushibuka yatezwe+? Mbega umutego urashibuka uvuye mw’ivu ata co wafashe namba? 6 Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibaca bajugumira+? Iyo hashitse ivyago mu gisagara, mbega Yehova si we none aba akoze ikintu? 7 Kuko Umukama Segaba Yehova ata co azokora adahishuriye akabanga kiwe abasavyi biwe b’abahanuzi+. 8 Intambwe iraroshe+! Ni nde atotinya? Umukama Segaba Yehova ubwiwe aravuze! Ni nde atovuga ubuhanuzi+?’
9 “‘Nimuvyamamaze ku minara yo kubamwo i Ashidodi no ku minara yo kubamwo mu gihugu ca Misiri+, muti: “Nimukoranire imisozi ya Sama riya+, mubone imivurungano myinshi ihari be n’ubugunge buhibereye+. 10 Ntibazi gukora ibigororotse+,” ni ko Yehova avuze, “abarunda ubukazi+ n’ubunyazi mu minara yabo yo kubamwo.”’
11 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Hariho umurwanizi hirya no hino y’igihugu+; emwe, azomanura inkomezi zawe zikuveko, kandi iminara yawe yo kubamwo izosahurwa vy’ukuri+.’
12 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nka kurya umwungere ashikura mu kanwa k’intambwe amaguru* abiri canke igipande c’ugutwi+, ni ko bene Isirayeli bazoshikurwa, abo biyicariye i Samariya ku buriri bwakaka+ no ku busaswa bw’i Damasiko+.’
13 “‘Nimwumve, mushinge intahe+ mu nzu ya Yakobo,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ya Mana nyen’ingabo. 14 ‘Kuko, ku musi nzogira ico mbaza+ Isirayeli ku migararizo yiwe, nzogira n’ico mbaza ibicaniro vy’i Beteli+; kandi amahembe y’igicaniro ntazobura gucibwa, akagwa hasi+. 15 Nzosenyurira hasi inzu yo kubamwo mu rushana+ n’inzu yo kubamwo mu ci+.’
“‘Kandi amazu y’amasenge y’inzovu azokamangana+, eka n’amazu menshi azoyogera+,’ ni ko Yehova avuze.”
4 “Nimwumve iri jambo, mwa nka z’i Bashani mwe+, mu ri ku musozi wa Samariya+, mugunga abantu batobato+, mugakandamiza aboro, mu kabwira ba shobuja ngo: ‘Zana twinywere!’ 2 Umukama Segaba Yehova yarahiye ubweranda bwiwe+ ati: ‘“Ehe imisi irabajeko, kandi azobateruza ivyuma vy’ingobe vy’umuyangayanga, amasigarira yanyu na yo ayateruze amagera+. 3 Muzosohokana mu bihengeri+, umwe wese atumbereye imbere yiwe; kandi ntimuzobura gutabwa i Harumoni,” ni ko Yehova avuze.’
4 “‘Nimwiyizire i Beteli mukore ibigabitanyo+. I Gilugali mukore ibigabitanyo musubire+, hanyuma muzane ibimazi vyanyu mu gitondo; ku musi ugira gatatu muzane ivy’icumi vyanyu+. 5 Mufumbishe ikimazi c’ugukenguruka mukuye ku vyambiwe+, mutangaze amashikanwa atangwa ku bushake+; nimuvyamamaze, kuko ni vyo mwakunze, yemwe bene Isirayeli+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
6 “‘Nanje, ku ruhande rwanje, nabahaye amenyo asukuye+ mu bisagara vyanyu vyose, n’ubukene bw’umukate mu bibanza vyanyu vyose+; ariko ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
7 “‘Kandi narabimye imvura, igihe hari hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere+; nagwishije imvura ku gisagara kimwe, mugabo ku kindi sinayigwisha. Ku gice kimwe c’itongo imvura yaragwa, mugabo igice ntaba nayigwishijeko kikuma+. 8 Ibisagara bibiri canke bitatu vyaradandabagirana bija ku gisagara kimwe kunywa amazi+, ntibihimbe; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
9 “‘Nabateje ukubabuka kw’ibirimwa be n’ururyi+. Amatongo yanyu n’imirima yanyu y’imizabibu vyaragwiriye, mugabo ibiti vyanyu vy’imisukoni be n’ibiti vyanyu vy’imyelayo bigakegetwa n’ikinyabwoya+; yamara ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
10 “‘Nabarungitsemwo ikiza kimeze nka kimwe co mu Misiri+. Nicishije inkota imisore yanyu+, amafarasi yanyu agirwa imbohe+. Nagumye ntuma umuduhu wo mu makambi yanyu uduga mu mazuru yanyu+; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
11 “‘Natembagaje igihugu canyu, nka kumwe Imana yatembagaza Sodomu na Gomora+. Mwahavuye muba nk’urugegene rushikuwe mu muriro+; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
12 “Ni co gituma ivyo ari vyo nzokugirira, ewe Isirayeli! Kubera ko ico kintu nyene ari co nzokugirira, itegurire guhura n’Imana yawe+, ewe Isirayeli! 13 Kuko ehe, Umubumvyi w’imisozi+ akaba n’Umuremyi w’umuyaga+, Umwe abwira umuntu yakuwe mw’ivu ivyo yiyumvira+, Umwe ahindura umutwenzi ugacika umukorane+, Umwe agendagenda ku bibanza bikirurutse* vy’isi+, Yehova Imana nyen’ingabo ni ryo zina ziwe+.”
5 “Nimwumve iri jambo ndabavuzeko nk’akaririmbo k’intimba+, ewe nzu ya Isirayeli:
2 “Wa mwigeme w’isugi+, ari we Isirayeli, yatemvye+;
Ntashobora kwongera guhaguruka+.
Yahebewe ku butaka bwiwe;
Nta n’umwe amuvyura+.
3 “Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Igisagara cahora gisohokana igihumbi kizosigarana ijana; icahora gisohokana ijana na co kizosigarana cumi, bibe ku nzu ya Isirayeli+.’
4 “Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye inzu ya Isirayeli: ‘Nimundondere+, mubone kubandanya kubaho+. 5 Ntimurondere Beteli+, kandi ntimuje i Gilugali+, kandi ntimujabuke ngo muje i Beyeri-sheba+; kuko Gilugali itazobura kuja mu bunyagano+; nayo Beteli, izocika ikintu c’ivy’amageza+. 6 Nimurondere Yehova, mubone kubandanya kubaho+, kugira ngo ntakore nk’umuriro+, ewe nzu ya Yozefu+, ngo uwo muriro urigate, hanyuma Beteli ikabura uwuwuzimya+, 7 yemwe bantu muhindura ubutungane ibamba+, mugashiburira hasi ubugororotsi+. 8 Wa Muhinguzi w’akarundo k’inyenyeri+ kitwa Kima+ be n’akitwa Kesili+, Umwe afata igitutu kizitanye+ akagihindura igitondo, Umwe afata umurango akawugira umwiza nk’ijoro+, Umwe ahamagara amazi y’ikiyaga, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+; 9 umwe atuma ubunyazi buza buravyo ku muntu w’umunyenkomezi, kugira ngo ubunyazi buze mbere no mu bibanza bikingijwe ibihome.
10 “‘Mw’irembo baranse uwukangīra+, banka urunuka uwuvuga ibitagira akanenge+. 11 Ku bw’ivyo rero, ko mwaka umuntu mutoyi indishi yo gukōta umurima, mukaguma mumutwara intete bwa kibuguro+, mwariyubakiye amazu y’amabuye abajwe+, mugabo ntimuzoguma muyabamwo; mwaritereye imirima myizamyiza y’imizabibu, mugabo ntimuzoguma munywa umuvinyu wayo+. 12 Kuko nzi ingene imigararizo yanyu ari myinshi+ n’ingene ibicumuro vyanyu bikomeye+, yemwe abanka umugororotsi+, mwebwe abakīra amahera y’igipfukamunwa+, mw’irembo+ mugahindira aboro ku ruhande+. 13 Ku bw’ivyo rero, ico gihe uwufise ugutahura kwimbitse azoguma acereje, kuko kizoba ari igihe c’ivyago+.
14 “‘Nimurondere iciza, ntimurondere ikibi+, kugira ngo mubandanye kubaho+; ni ho Yehova ya Mana nyen’ingabo yobana namwe, nk’uko mwavuze+. 15 Nimwanke ikibi, mukunde iciza+, mu he ubutungane ikibanza mw’irembo+. Kumbure Yehova ya Ma na nyen’ingabo azogirira ubutoni+ abasigaye ba Yozefu+.’
16 “Ibi rero ni vyo Yehova ya Mana nyen’ingabo, Yehova, avuze: ‘Mu bibanza vya bose vyose hazoba amaborogo+, kandi mu mabarabara yose abantu bazovuga ngo: “Aaa! Aaa!” Kandi bazobwirizwa guhamagarira umurimyi kugandara+, abazi gucura intimba babahamagarire kuboroga+.’ 17 ‘Kandi mu mirima yose y’imizabibu hazoba amaborogo+; kuko nzoca hagati muri mwebwe+,’ ni ko Yehova avuze.
18 “‘Baragowe abahahamira umusi wa Yehova+! None umusi wa Yehova uzosobanura iki kuri mwebwe+? Uzoba ari umwiza, ntuzoba ari umuco+; 19 ni nk’igihe umuntu ahunga intambwe hanyuma agahura n’idubu; kandi ni nk’igihe yinjira mu nzu, agafadikiza ikiganza ciwe ku ruhome, hanyuma inzoka ikamukomora+. 20 Mbega umusi wa Yehova ntuzoba ari umwiza, ntube umuco? Mbega ntuzoba uw’umuzimagiza, ntube uw’ukwakaka+? 21 Imisi mikuru yanyu ndayanse+, ndayizinutswe, kandi sinzoryoherwa n’akamoto k’amakoraniro yanyu y’agakūra+. 22 Mugabo nimwanshikanira amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, amashikanwa yanyu ntazompimbara+, n’ibimazi vyanyu vy’ugusangira vy’ibitungwa bikiri bito binuze sinzobiraba n’ijisho+. 23 Nimunkureko uruyogoyogo rw’indirimbo zanyu; sinumve ijwi ry’agahibongozo ry’ibicurarangisho vyanyu vy’imirya+! 24 Reka ubutungane butembe nk’amazi+, ubugororotsi na bwo nk’uruzi rw’isumo ruguma rutemba+. 25 Mbega ibimazi be n’amashikanwa, ni vyo mwazanye hafi yanje mu gahinga mu myaka mirongo ine, ga yewe nzu ya Isirayeli+? 26 Ntimuzobura gutwara Sakuti umwami wanyu+ na Ka yiwani, vya bishusho vyanyu, inyenyeri y’imana yanyu mwihinguriye+. 27 Nzotuma muja mu bunyagano hakurya ya Damasiko+,’ ni ko umwe yitwa Yehova Imana nyen’ingabo avuze+.”
6 “Baragowe abiraramiye+ i Siyoni be n’abizigira umusozi wa Samariya! Abo ni abanyacubahiro bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi, kandi ni bo inzu ya Isirayeli yaje igana. 2 Nimufate inzira muje i Kalune, mwirabire; hanyuma muveyo muje i Hamati+ ahaba abantu benshi, muheze mumanuke i Gati+ h’Abafilisitiya. Mbega ivyo bisagara vyoba ari vyo vyiza kuruta ubu bwami, canke mugira ngo akarere kavyo ni ko kanini kuruta akarere kanyu+? 3 Mbega muriko mwikura mu muzirikanyi wa musi w’ivyago+, mukigiza hafi inzu y’ubukazi+? 4 Mwebwe abiryamiye ku mariri y’amasenge y’inzovu+, mukigaramangira ku busaswa bwanyu, mukirira impfizi z’intama zo mu mukuku be n’ibimasa vyakuwe mu nyana zadoheshejwe+, 5 mugafondafonda indirimbo mwisunze ijwi ry’igicurarangisho c’imirya+, nka kumwe kwa Dawidi mukaba mwarihingu riye ibikoresho vyo gucuraranga indirimbo+, 6 mukanywera mu mabakure y’umuvinyu+, mukisiga amavuta mezameza+, kandi mukaba mutarwajwe n’ivyago vya Yozefu+.
7 “Ni co gituma rero bazoja mu bunyagano bari imbere y’abariko baja mu bunyagano+, kandi ukwidagadura kw’abigaramangira kuzovaho ata kabuza.
8 “‘Umukama Segaba Ye hova arirahiye+,’ ni ko Yehova Imana nyen’ingabo avuze, ati: ‘“Nanka urunuka ubwishime bwa Yakobo+, n’iminara yiwe yo kubamwo ndayanse+, kandi igisagara be n’ibicuzuye nzobigabura ku bansi+. 9 Kandi nihasigara abantu cumi mu nzu imwe, na bo nyene ntibazobura gupfa+. 10 Kandi mwene wabo na se azobwirizwa kubatwara hanze umwumwe, abaturire umwumwe, kugira ngo asohore amagufa muri nya nzu+. Kandi azobwirizwa kubaza umuntu wese ari mu bwigobeko bwa nya nzu ati: ‘Hari abandi muri kumwe?’ Na we azovuga koko ati: ‘Nta n’umwe!’ Nya muntu na we azobwirizwa kuvuga ati: ‘Cereza! Kuko atari igihe co gucisha mu kanwa izina rya Yehova+.’”
11 “‘Kuko ehe Yehova arategetse+, kandi ntazobura gusenyura inzu nini akayigira ibisenyagurike, inzu ntoyi na yo akayigira isakamburira+.
12 “‘Mbega amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke umuntu yoharimisha inka? Kuko ubutungane mwabuhinduye igiterwa c’ubumara+, icamwa c’ubugororotsi na co mugihindura ibamba, 13 mwebwe abanezererwa ikintu kitariho+, mukavuga ngo: “Mbega inkomezi zacu si zo zatumye twironsa amahembe*+?” 14 Raba! Ngira ndabahagurukirize ihanga+, ewe nzu ya Isirayeli,’ ni ko Yehova Imana nyen’ingabo avuze, ‘babahahaze kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku mwonga wa Araba.’”
7 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe yariko aremarema irumbu ry’inzige, ivyabibwe mu nyuma bigitangura kunaga+. Kandi, ehe vyari ivyabibwe mu nyuma y’itemwa ry’ivyatsi vy’umwami. 2 Maze iryo rumbu rirangije kurigata ibimera vyo mu gihugu, nca mvuga nti: “Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ubababarire+. Ni nde azohaguruka mu ba Yakobo? Ko ari mutoya+!”
3 Yehova aricuza ku bijanye n’ico kintu+. Yehova avuga ati: “Ntibizoba.”
4 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe Umukama Segaba Yehova yariko ahamagara amahane biciye ku muriro+; nya muriro urigata inyenga y’amazi nini amahanga, urigata n’igice c’itongo. 5 Nanje ndaheza mvuga nti: “Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ubangire+. Ni nde azohaguruka mu ba Yakobo? Ko ari mutoya+!”
6 Yehova aricuza ku bijanye n’ico kintu+. Umukama Segaba Yehova avuga ati: “Eka n’ivyo ntibizoba.”
7 Ibi ni vyo yanyeretse: ehe Yehova yari ahagaze ku ruhome rwubatswe hakoreshejwe karisho*+, kandi karisho yari mu kuboko kwiwe. 8 Maze Yehova ambaza ati: “Ubona iki ga Amosi?” Nanje nti: “Karisho.” Hanyuma Yehova avuga ati: “Ehe ngira nshire karisho hagati mu bantu banje Isirayeli+. Sinzogenda nsubiye kubababarira+. 9 Emwe, ibibanza bikirurutse vya Izahaki+ bizogirwa umusaka, ibibanza vyeranda+ vya Isirayeli na vyo bitikizwe+; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nkoresheje inkota+.”
10 Hanyuma Amaziya umuherezi w’i Beteli+ atuma kuri Yerobowamu+ umwami wa Isirayeli, ati: “Amosi yakugīriye umugambi mubi hagati nyene mu nzu ya Isirayeli+. Igihugu ntigishobora kwihanganira amajambo yiwe yose+. 11 Kuko Amosi avuga ngo: ‘Yerobowamu azokwicishwa inkota; nayo Isirayeli, ntizobura kuja mu bunyagano ikava ku butaka bwayo+.’”
12 Nuko Amaziya abwira Amosi ati: “Ewe mubonyi+, genda, hunga uje mu gihugu ca Yuda, abe ari ho urira umukate, kandi abe ari ho uvugira ubuhanuzi. 13 Ariko i Beteli ntiwongere kuhavugira icitwa ubuhanuzi+, kuko ari co kibanza ceranda c’umwami+, kikaba n’inzu y’ubwami.”
14 Maze Amosi yishura Amaziya ati: “Jewe sinari umuhanuzi, canke ngo mbe umwana w’umuhanuzi+; ahubwo nari umwungere+, nkaba n’umurasazi w’insukoni z’ibiti vy’imisukomora. 15 Maze Yehova ankura inyuma y’umukuku, hanyuma Yehova ambwira ati: ‘Genda, ubwire ubuhanuzi abantu banje Isirayeli+.’ 16 Niwumve rero ijambo rya Yehova: ‘Mbega uvuga ngo: “Ntukavuge ubuhanuzi bucira urubanza Isirayeli+, kandi ntihagire ijambo ukerutsa+ ricira urubanza inzu ya Izahaki”? 17 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “Umugore wawe azocika umumaraya mu gisagara+. Abahungu bawe n’abakobwa bawe bazogwishwa n’inkota. Nayo ubutaka bwawe, buzogabuzwa umugozi wo gupimisha. Nawe ubwawe, uzopfira ku butaka buhumanye+; Isirayeli na yo, ntizobura kuja mu bunyagano ikava ku butaka bwayo+.”’”
8 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe hari igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci+. 2 Araheza ambaza ati: “Ubona iki+ ga Amosi?” Nanje nti: “Igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci+.” Hanyuma Yehova ambwira ati: “Iherezo ryashitse ku bantu banje Isirayeli+. Sinzogenda nsubiye kubababarira+. 3 ‘Kandi indirimbo zo mu rusengero zizoba umuborogo kuri uwo musi+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. ‘Hazoba imivyimba myinshi+. Emwe, ahantu hose, bazoyishiburira hanze—cwe!’
4 “Nimwumve ibi mwebwe murondera gusūmira umworo n’akanwa kanyu+, kugira ngo muzimanganye kw’isi abatekereza+, 5 mukavuga ngo: ‘Mbega imboneko y’ukwezi izorengana ryari+ ngo twigurishirize intete+? Be n’isabato+, ngo twidandarize intete, kugira ngo tugabanye ingero ya efa+, tuduze shekeli kandi tuzirike umunzane w’uruhendo+, 6 kugira ngo tugure abantu batobato ifeza igaragara, umworo na we ikiguzi c’umwambaro w’inkweto, ngo twigurishirize umucafu w’intete+?’
7 “Yehova arahiye Ubukuru bwa Yakobo+, ati: ‘Sinzokwigera nibagira ibikorwa vyabo vyose+. 8 Mbega ivyo si vyo bizotuma igihugu gihagarika umutima+, n’uwukibamwo wese akabwirizwa kugandara+, bigatuma kandi cose kiduga nka Nili, kigasebagirika hanyuma kikadwibira nka Nili yo mu Misiri+?’
9 “‘Kandi uku ni ko bizoba kuri uwo musi,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nzotuma izuba rirenga ku mutaga w’amaminangohe+, nteze igihugu umwiza ku musi umuco ari wose. 10 Imisi mikuru yanyu nzoyihindura ikigandaro+, n’indirimbo zanyu zose ndazihindure akaririmbo k’intimba, nzane amagunira* ku mafyinga yose, n’imitwe yose iharangurwe+; nzotuma bimera nk’igihe bagandarira umwana w’ikinege+, iherezo ryavyo rimere nk’umusi w’akabonge.’
11 “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova+. 12 Kandi ntibazobura kudandabagirana kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva mu buraruko gushika mu burasirazuba. Bazoguma banyuragira irya n’ino barondera ijambo rya Yehova, ariko ntibazorironka+. 13 Kuri uwo musi abigeme bezabeza b’isugi, eka n’imisore, bazorabikwa n’inyo ta+, 14 abarahira icaha ca Samariya+, bakavuga ngo: “Turahiye ukubaho kw’imana ya we, ewe Dani+!”, kandi ngo: “Turahiye ukubaho kw’inzira y’i Beyeri-sheba+!” Ntibazobura kugwa, kandi ntibazokwongera guhaguruka+.’”
9 Nabonye Yehova ahagaze hejuru y’igicaniro+, araheza avuga ati: “Kubita umutwe w’inkingi, aminjiriro atigite. Zigegene ku mitwe, zose+. Abasigaye bo muri bo nzobicisha inkota. Nta wo muri bo agerageza guhunga azoshobora guhunga ngo akire, kandi nta wo muri bo agerageza gucika kw’icumu azoshobora kuyanyaga+. 2 Nibimba bakaja mu kuzimu*, ukuboko kwanje kuzobakurayo+; kandi nibaduga mu majuru, nzobamanurayo+. 3 Nibinyegeza kw’isonga rya Karumeli, nzobaronderayo nitonze nshirwe ndabafashe+. Nibihisha amaso yanje hasi mu kiyaga+, nzotegekerayo inzoka, ibakomore. 4 Nibajanwa kugirwa imbohe bashorewe n’abansi babo, nzotegekerayo inkota, ibice+; kandi nzobashinga ijisho ku bw’inabi, atari ku bw’ineza+. 5 Umukama Segaba, Yehova nyen’ingabo*, ni We akora ku gihugu, kigashonga+; kandi abakibamwo bose bazobwirizwa kugandara+; kandi ntikizobura kuduga cose nka Nili, kikadwibira nka Nili yo mu Misiri+.
6 “‘Umwe yubaka ingazi ziwe mu majuru+, akubaka n’inyubakwa yiwe hejuru y’isi yashizeho+, umwe ahamagara amazi y’ikiyaga+, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+.’
7 “‘Mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi, ga yemwe bene Isirayeli?’ ni ko Yehova avuze. ‘Mbega sinaduganye Isirayeli nkayikura mu gihugu ca Misiri+, n’Abafilisitiya+ nkabakura i Kirete, na Siriya nkayikura i Kiri+?’
8 “‘Raba! Amaso y’Umukama Segaba Yehova ari ku bwami bucumura+, kandi azobuzimanganya koko ku buringanire bw’ubutaka+. Yamara rero, sinzozimanganya buhere inzu ya Yakobo+,’ ni ko Yehova avuze. 9 ‘Kuko ehe ndatanze itegeko; nzonyiganza inzu ya Isirayeli mu mahanga yose+, nk’uko umuntu anyiganza ikiyunguruzo, ku buryo hatagira n’akabuye kagwa hasi. 10 Bazokwicishwa inkota, abacumuzi bose bo mu bantu banje+, abavuga ngo: “Ivyago ntibizotwegera canke ngo bishike aho turi+.”’
11 “‘Kuri uwo musi nzovyura+ urusago+ rwa Dawidi rwatemvye+, nzibire n’ibihengeri vyabo. Ibihomvagurike vyarwo nzobivyura, ndarwubake nko mu misi ya kera+, 12 kugira ngo bigarurire ibisigaye vyo kuri Edomu+, be n’amahanga yose izina ryanje ryambarijwemwo+,’ ni ko Yehova avuze, ari na we akora ivyo.
13 “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze: ‘umurimyi azohamvya umwimbuzi+, n’uwuganisha ibirenge inzabibu ahamvye uwikorera imbuto+; imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+, n’imirambi yose isange iriko irashonga+. 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’
15 “‘Nzobateragira koko ku butaka bwabo, kandi ntibazokwongera kurandurwa ku butaka bwabo nabihereye+,’ ni ko Yehova Imana yawe avuze.”
Canke kandi, “amasandali.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.
Raba Inyongera ya 21.
Amahembe y’igikoko arakunda gukoreshwa muri Bibiliya mu kugereranya inkomezi, ububasha canke ubukuru.
Ako gakoresho ni akuma karemereye gacundeba ku mugozi, kagakoreshwa nk’inivo ipima amahagarara.
Raba Inyongera ya 21.
Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Raba Inyongera ya 21.