ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Ezekiyeli 1:1-48:35
  • Ezekiyeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ezekiyeli
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli

EZEKIYELI

1 Mu mwaka ugira 30, ku musi ugira gatanu w’ukwezi kugira kane, ico gihe nkaba naba mu bajanywe mu bunyagano+, hafi y’uruzi Kebari+, ijuru ryarugurutse ntangura kwerekwa n’Imana. 2 Ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, ni ukuvuga mu mwaka ugira gatanu umwami Yehoyakini ajanywe mu bunyagano+, 3 ijambo rya Yehova ryaje kuri Ezekiyeli* mwene Buzi umuherezi mu gihugu c’Abakaludaya+, hafi y’uruzi Kebari. Ububasha* bwa Yehova bwamujeko+ ari aho hantu.

4 Ndiko nditegereza mbona umuyaga w’igihuhusi+ uje uva mu buraruko. Hari igicu amahero n’umuriro urabagiza*+ bikikujwe n’umuco wakaka. Hagati muri uwo muriro hari ikintu casa n’uruvange rw’inzahabu n’ifeza*+. 5 Muri uwo muriro hari ibisa n’ibinyabuzima bine+, kandi kimwe cose muri vyo cari gifise ishusho nk’iy’umuntu. 6 Kimwe cose cari gifise mu maso hane n’amababa ane+. 7 Ibirenge vyavyo vyari bigororotse, bimeze nk’ibinono vy’inyana. Kandi vyarakayangana nk’umujumpu usenye uca ibibatsi+. 8 Ku mpande zavyo zose uko ari zine vyari bifise amaboko nk’ay’umuntu munsi y’amababa yavyo. Uko ari bine vyari bifise mu maso havyo bikagira n’amababa. 9 Amababa yavyo yarakoranako. Bigiye ntivyakata. Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere+.

10 Uku ni ko mu maso havyo hasa: kimwe cose muri ivyo binyabuzima bine cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, iburyo kikagira mu maso nk’ah’intambwe+, ibubamfu kikagira mu maso nk’ah’impfizi+, kandi kimwe cose muri vyo uko ari bine cari gifise mu maso nk’ah’inkona+. 11 Ukwo ni ko mu maso havyo hari hameze. Amababa yavyo yari ashanje hejuru yavyo. Kimwe cose cari gifise amababa abiri akoranako, yandi abiri agapfuka imibiri yavyo+.

12 Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere, kikaja aho hose impwemu yaba ishatse ko bija+. Bigiye ntivyakata. 13 Ivyo binyabuzima vyari bifise ishusho nk’iy’amakara yaka umuriro. Hari ikintu kimeze nk’ibimuri vyaka cane caza kiragenda kigaruka hagati y’ivyo binyabuzima, kandi mu muriro+ havamwo imiravyo. 14 Uko ivyo binyabuzima vyagenda bigaruka, wamengo ni imiravyo irabagiza.

15 Ndiko nditegereza ivyo binyabuzima, mbona ikintu kimeze nk’ipine ry’icuma kw’isi iruhande ya kimwe cose muri ivyo binyabuzima bifise mu maso hane+. 16 Ayo mapine n’ukuntu akozwe, wamengo arakayangana nk’ibuye rya kirizolito, kandi yose uko ari ane yarasa. Uravye uko yasa n’ukuntu akozwe, wamengo ipine ryinjira mu rindi*. 17 Agize aho aja, yarashobora kwerekeza mu mpande zine zose atarinze gukata. 18 Amaringi y’ayo mapine yose uko ari ane yari maremare cane biteye ubwoba, kandi ayo maringi yari yuzuye amaso hose+. 19 Igihe cose ivyo binyabuzima bigiye ahantu, ayo mapine yajana na vyo, kandi ivyo binyabuzima bidugijwe bikava kw’isi, n’ayo mapine yaraduga+. 20 Aho impwemu ishatse ko bija ni ho vyaja, emwe aho impwemu igiye hose. Ayo mapine yadugana na vyo kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima* yari no muri ayo mapine. 21 Iyo bigiye ahantu, na yo yaca agenda, bihagaze na yo agahagarara. Iyo bidugijwe bikava kw’isi, ayo mapine na yo yadugana na vyo, kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima yari no muri ayo mapine.

22 Hejuru y’imitwe y’ivyo binyabuzima hari ikintu kimeze nk’ikirere caca ibibatsi nk’ikibarafu c’agatangaza, gishanje hejuru y’imitwe yavyo+. 23 Munsi y’ico kirere amababa yavyo yari agororotse*, rimwe rirabana n’irindi. Kimwe cose cari gifise amababa abiri yo gupfuka uruhande rumwe rw’imibiri yavyo, n’ayandi abiri yo gupfuka urundi ruhande. 24 Igihe numva ijwi ry’amababa yavyo, wamengo ni ijwi ry’amazi asuma cane, nk’ijwi rya Mushoboravyose+. Bigiye ahantu, ijwi ryavyo wamengo ni iry’ingabo nyinshi. Bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo.

25 Hari ijwi ryumvikana hejuru y’ico kirere cari hejuru y’imitwe yavyo. (Bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo.) 26 Hejuru y’ico kirere cari hejuru y’imitwe yavyo hari ikintu gisa n’ibuye rya safiro+, kimeze nk’intebe y’ubwami+. Hejuru, kuri iyo ntebe y’ubwami hari hicaye uwufise ishusho nk’iy’umuntu+. 27 Guhera ahokwitwa ko ari mu kiyunguyungu ciwe kuduga, mbona ikintu gikayangana nk’uruvange rw’inzahabu n’ifeza+, cari kimeze nk’umuriro uca ibibatsi. Guhera mu kiyunguyungu ciwe kumanuka, mbona ikintu gisa n’umuriro+. Irya n’ino yiwe hose harakaka 28 nka kurya kw’umunywamazi+ mu gicu ku musi w’imvura. Ukwo ni ko umuco wakaka irya n’ino yiwe wasa. Wari ufise ishusho nk’iy’ubuninahazwa bwa Yehova+. Ndawubonye, nca ngwa nubamye, maze numva ijwi ry’uwuvuga.

2 Aca ambwira ati: «Mwana w’umuntu*, haguruka kugira ngo ngire ico ndakubwira+.» 2 Akimara kumvugisha, impwemu inzamwo irampagurutsa+ kugira ngo numve uwariko avugana nanje.

3 Hanyuma ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ndagutumye ku Bisirayeli+, ku mahanga* y’abagarariji yangararije+. Bo na ba sekuruza babo barancumuyeko gushika n’uyu musi+. 4 Ndagutumye ku bana b’abagarariji* kandi b’umutima ukomantaye+. Uze ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku.” 5 Nayo bobo, bumva canke batumva, nakare ni abagarariji+, ntibazobura kumenya ko higeze umuhanuzi muri bo+.

6 Mugabo wewe ga mwana w’umuntu, ntubatinye+ kandi ntutinye ivyo bavuga naho ukikujwe n’ibihandambwa* n’amahwa*+, kandi ukaba ubana na za sikorupiyo*. Ntutinye ivyo bavuga+ kandi amaso yabo ntakurandure umutima+, kuko ari abagarariji. 7 Uze ubabwire amajambo yanje, bumva canke batumva, nakare ni abagarariji+.

8 Mugabo wewe ga mwana w’umuntu, niwumvirize ivyo ndiko ndakubwira. Ntube umugarariji nk’abo bagarariji. Asama urye ico ngira nguhe+.»

9 Ndavye mbona ukuboko kuramvuye kuza kuri jewe+, mbona gufise umuzingo*+ wanditseko. 10 Yaciye awuzingururira imbere yanje. Wari wanditseko imbere n’inyuma+. Uturirimbo tw’intimba, umubabaro n’amaborogo ni vyo vyari vyanditseko+.

3 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, nurye ico kiri imbere yawe*. Rya uwo muzingo hanyuma ugende, ubwire Abisirayeli+.»

2 Nuko ndasama, na we andisha uwo muzingo. 3 Hanyuma ambwira ati: «Mwana w’umuntu, rya uwo muzingo ndaguhaye uwuzuze inda yawe.» Nuko ntangura kuwurya, mu kanwa unsosera nk’ubuki+.

4 Ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ja mu Bisirayeli ubabwire amajambo yanje. 5 Kuko utarungitswe ku bantu bavuga ururimi rutumvikana canke rutazwi ahubwo urungitswe ku Bisirayeli. 6 Nturungitswe ku mahanga menshi avuga ururimi rutumvikana canke rutazwi, avuga amajambo udashobora gutegera. Iyaba ari yo ndagutumyeko, yokwumvirije+. 7 Ariko Abisirayeli bazokwanka kukwumviriza, kuko badashaka kunyumviriza+. Bose bafise umutwe ukomantaye n’umutima ukomantaye+. 8 Raba! Mu maso hawe ndahakomantaje neza na neza nko mu maso habo, n’uruhanga rwawe ndarukomantaje neza na neza nk’uruhanga rwabo+. 9 Uruhanga rwawe ndarugize nka diyama, ndarukomantaje kurusha ibuye ry’isare+. Ntubatinye kandi amaso yabo ntakurandure umutima+ kuko ari abagarariji.»

10 Abandanya kumbwira ati: «Mwana w’umuntu, umviriza amajambo yose nkubwira, uyashire ku mutima. 11 Genda mu bantu bo mw’ihanga ryanyu bari mu bunyagano+, ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku”, bumva canke batumva+.»

12 Maze impwemu* irantwara+, nca numva inyuma yanje ijwi rihinda cane rivuga ngo: «Ubuninahazwa bwa Yehova nibushemagirizwe aho ari.» 13 Hari urwamo rw’amababa ya vya binyabuzima yakoranako+, n’urwamo rwa ya mapine yari iruhande yavyo+, be n’ijwi rihinda cane. 14 Ya mpwemu iramfata, irantwara, ngenda mbabaye, naratse mu mutima, kandi ububasha* bwa Yehova bwaguma kuri jewe bunkoreramwo mu buryo bukomeye. 15 Nuko nja i Teli-Abibu mu bajanywe mu bunyagano baba hafi y’uruzi Kebari+, nguma aho baba. Namaze imisi indwi muri bo, numiwe+.

16 Iyo misi indwi iheze, Yehova ambwira ati:

17 «Mwana w’umuntu, nakugenye ngo ubere inderetsi Abisirayeli+. Niwumva ijambo riva mu kanwa kanje, uzoce ubampera iyo mburi+. 18 Ninabwira umubisha nti: “Ntuzobura gupfa”, mugabo ntumuburire, ukareka kuvuga kugira ngo umuburire ahebe ingendo yiwe y’ububisha maze abandanye kubaho+, uwo mubisha azopfa azize ikosa ryiwe kubera ari umubisha+. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza*+. 19 Mugabo niwaburira umubisha, na we ntahindukire ngo ahebe ububisha bwiwe n’ingendo yiwe y’ububisha, azopfa azize ikosa ryiwe. Mugabo wewe uzorokora ubuzima bwawe ata kabuza+. 20 Ariko umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi*, nzoshira igitsitaza imbere yiwe maze apfe+. Nutaba waramuburiye azopfa azize igicumuro ciwe, kandi ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi ntibizokwibukwa. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza*+. 21 Mugabo niwaba waraburiye umugororotsi ngo ntacumure maze akirinda gucumura, azobandanya kubaho ata kabuza kuko yaburiwe+, kandi uzoba urokoye ubuzima bwawe.»

22 Ububasha* bwa Yehova bunzako ndi ng’aho, araheza ambwira ati: «Haguruka uje mu kiyaya, ni ho nza kuvuganira nawe.» 23 Nuko ndahaguruka nja mu kiyaya, maze ngize ntya, ndahabona ubuninahazwa bwa Yehova+ nka bwa buninahazwa nari nabonye hafi ya rwa ruzi Kebari+, nca ngwa nubamye. 24 Maze impwemu inyinjiramwo, irampagurutsa+, hanyuma Imana imbwira iti:

«Genda wiyugaranire mu nzu yawe. 25 Ewe mwana w’umuntu, bazofata imigozi bayikuboheshe, kugira ngo ntusohoke ngo uje muri bo. 26 Nzotuma ururimi rwawe rumatana n’amagage, ucike nyamuragi ku buryo udashobora kubakosora, kuko ari abagarariji. 27 Ariko ninavugana nawe, nzoteranura akanwa kawe, ubabwire+ uti: “Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku.” Uwumva niyumve+, uwanka na we yanke, nakare ni abagarariji+.

4 Nawe ga mwana w’umuntu, tora itafari urishire imbere yawe, urishushanyeko* igisagara ca Yeruzalemu. 2 Uheze ucugarize+, wubake uruzitiro rwo kugitera+, urunde ibintu vyo kwuririrako kugira ugitere+, ushinge amakambi yo kugitera wongere ugikikuze ibigiga vyo gusenyura inzitiro zaco+. 3 Tora igipanu c’icuma, ugishinge nk’uruhome rw’icuma hagati yawe n’igisagara. Nuce uhanga amaso ico gisagara, cugarizwe. Abe ari wewe ucugariza. Bizobera ikimenyetso Abisirayeli+.

4 Uzoheza uryamire urubavu rwawe rw’ibubamfu, wiremeke* ikosa ry’Abisirayeli+. Imisi uzomara uryamiye urubavu, uzoba wikoreye ikosa ryabo. 5 Nzogusaba kubikora imisi 390, imisi ihwanye n’imyaka y’ikosa ryabo+, kandi uzokwikorera ikosa ry’Abisirayeli. 6 Kandi utegerezwa kuyirangiza.

Ivyo biheze, uze uryamire urubavu rwawe rw’iburyo, wikorere ikosa ry’Ubuyuda+ imisi 40, umusi umwumwe uhure n’umwaka. Umusi uhuye n’umwaka ni vyo ndagushingiye. 7 Uzohanga amaso igisagara ca Yeruzalemu+ cugarijwe, ubigire wakumye impuzu ku kuboko, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira ico gisagara.

8 Umviriza! Nzokubohesha imigozi kugira ngo ntiwihindukize ngo uve ku rubavu rumwe uje ku rundi, gushika urangije imisi wahawe yo kuhugariza.

9 Uze utore ingano, sayiri*, ibiharo, inkore, amasaka na kusemeti*, ubishire mu combo kimwe, ubikoremwo umukate. Uwo mukate uzowurya mu misi 390 uzomara uryamiye urubavu+. 10 Buri musi uzopima shekeli 20* z’ivyo kurya abe ari zo urya. Uzoza urarya ku masaha.

11 N’amazi uzoyanywa ku gipimo: ica gatandatu ca hini*. Uzoza urayanywa ku masaha.

12 Uzorya uwo mukate nk’uwurya umukate* wa sayiri. Uzowotsa babona ukoresheje umwanda mukuru w’abantu wumye bwa nkwi.» 13 Yehova abandanya kuvuga ati: «Ukwo ni ko Abisirayeli bazorya umukate wabo uhumanye bari mu mahanga nzobashwiragizamwo+.»

14 Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+.»

15 Aca ambwira ati: «Nta ngorane. Ndemeye ukoreshe amase y’inka mu kibanza c’umwanda mukuru w’abantu, abe ari yo wotsako umukate.» 16 Yongerako ati: «Mwana w’umuntu, ehe ngira ntume ibifungurwa bibura* i Yeruzalemu+. Bazorya umukate bari mu maganya menshi barinze kuwupima+, banywe n’amazi bishwe n’ubwoba barinze kuyapima+. 17 Ivyo bizoba kugira ngo nibabura umukate n’amazi, barabane bajorewe, bagende barahera kubera ikosa ryabo.

5 Ewe mwana w’umuntu, rondera inkota ikarishe uyikoreshe nk’urumosho rwa kimyozi, wimwe umushatsi n’ubwanwa. Uheze utore umunzane kugira ubipime maze ubigabagure. 2 Ica gatatu uzogituririre mu gisagara, imisi yo kucugariza irangiye+. Uzoce utora ica gatatu kindi ugikubitishe inkota irya n’ino ya nya gisagara*+. Ica gatatu gisigaye na co ugisanzarize mu muyaga. Nzosokora inkota ndacirukeko+.

3 Uze utoreko udushatsi dukeyi utuzingire mu mpuzu* yawe. 4 Uze utore n’utundi uduterere mu muriro, uduturire dutokombere. Uwo muriro uzogenda ushike ku Bisirayeli bose+.

5 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Iyi ni Yeruzalemu. Nayishize hagati mu mahanga, ikaba ikikujwe n’ibihugu. 6 Mugabo yaragararije ingingo nashinze n’ivyagezwe vyanje, ikora ivy’ububisha kuruta amahanga n’ibihugu biyikikuje+. Abantu barataye ingingo nashinze, ntibakurikiza ivyagezwe vyanje.”

7 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kubera ko mwagoranye kuruta amahanga yose abakikuje, ntimukurikize ivyagezwe vyanje, canke ngo mwubahirize ingingo nashinze, ahubwo mugakurikiza ingingo z’amahanga abakikuje+, 8 Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira ndakurwanye wa gisagara+. Jewe ubwanje ngira ndagushitseko urubanza amahanga arorera+. 9 Nzokorera iwawe ikintu ntari bwigere nkora, kandi nta kimeze nka co nzosubira gukora, kubera ibintu vyose bishisha ukora+.

10 Ba sebibondo rero baba iwawe bazorya abana babo+, abana na bo barye ba se. Kandi nzogushitsako urubanza, abawe bose basigaye ndabasanzarize mu mpande zose*+.’”

11 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “kubera ko wahumanije ahantu hanje heranda ukoresheje ibigirwamana vyawe vyose bisesemye be n’ibintu vyose bishisha ukora+, nanje nzoguta*. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, kandi nta mpuhwe nzogira+. 12 Ica gatatu c’abantu bawe, bazokwicwa n’ikiza*, bahonywe n’inzara. Ica gatatu kindi, bazokwicwa n’inkota+ irya n’ino yawe. Ica gatatu gisigaye, nzobasanzariza mu mpande zose*. Nzosokora inkota ndabirukeko+. 13 Ishavu ryanje rero rizoca rihera, uburake nari ndabafitiye buhwame, umutima wanje uryoherwe+. Kandi ninaheza kubasukako uburake bwanje, bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova navuze, kuko ndi Imana isaba ishimitse gusengwa* yonyene+.

14 Nzogutikiza, ntume ucokorwa mu mahanga agukikuje n’imbere y’abahita bose+. 15 Uzocokorwa, usuzugurwe+, ubere abandi imburi, ube n’ikintu c’akajoreza ku mahanga yose agukikuje, ninagushitsako urubanza nashavuye, naratse, nkaguhana bimwe bikaze. Jewe Yehova ndavuze.

16 Ababa iwawe nzobarungikako ya myampi yica y’inzara, ibahonye. Iyo myampi nzorungika izobamara+. Nzotuma mubura ibifungurwa*, kugira inzara ibamerere nabi+. 17 Nzobateza inzara n’ibikoko bikaze+, bibahekure. Muzorengerwa n’ikiza n’amaraso menshi azoseseka, kandi nzobateza inkota+. Jewe Yehova ndavuze.”»

6 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe imisozi ya Isirayeli, uyibwire ubuhanuzi bw’ibizoyishikira. 3 Uvuge uti: “Yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ivyo Umukama Segaba Yehova avuze. Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi, imirambi, imigezi n’imibande: ‘Ehe ngira ndabazaneko inkota, ntikize ibibanza vyanyu vyo gusengeramwo*. 4 Ibicaniro vyanyu bizosamburwa, ibicaniro muturirirako imibavu bimenagurwe+, kandi abantu banyu bishwe nzobaterera imbere y’ibigirwamana vyanyu bisesemye*+. 5 Nzoterera imivyimba y’Abisirayeli imbere y’ibigirwamana vyabo bisesemye, nsanzaze amagufa yanyu irya n’ino y’ibicaniro vyanyu+. 6 Aho muba hose, ibisagara vyaho bizotikizwa+, ibibanza vyo gusengeramwo na vyo bisamburwe, bisigare bigaragara+. Ibicaniro vyanyu bizosamburwa bimenagurwe, ibigirwamana vyanyu bisesemye bihone, ibicaniro muturirirako imibavu bisenyurwe, ivyo mwakoze bizimanganywe. 7 Abishwe bazogwa hagati muri mwebwe+, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.

8 Mugabo nzogira abo nsigaza kuko bamwe muri mwebwe bazokira inkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+. 9 Abazorusimba bazonyibuka bari mu mahanga batwawemwo ari imbohe+. Bazotahura ko navunitse umutima kubera umutima wabo w’umuhemu* wampevye+, no kubera amaso yabo yipfuza rwose* ibigirwamana vyabo bisesemye+. Bazomaramara bazinukwe ibintu vyose bibi kandi bishisha bakoze+. 10 Bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova be n’uko igihe nababwira ko nzobateza ivyo vyago kutari ukujajura+.’”

11 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kubita amashi ku yandi wongere udide ikirenge, ucure intimba kubera ibintu vyose bibi kandi bishisha Abisirayeli bakoze, kuko bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza+. 12 Uwuri kure azokwicwa n’ikiza, uwuri hafi yicwe n’inkota. Uwuzobikira agasigara, azokwicwa n’inzara. Nzobasukako uburake bwanje bwose+. 13 Muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+, abantu babo nibicwa bakarambarara hagati y’ibigirwamana vyabo bisesemye, irya n’ino y’ibicaniro vyabo+, ku mirambi miremire yose, ku masonga yose y’imisozi no munsi y’ibiti bitotahaye vyose, no munsi y’amashami y’ibiti binini. Aho hose bahora bahatangira amashikanwa amota neza yo gutururuza ibigirwamana vyabo bisesemye+. 14 Nzoramvura ukuboko ndabahane, ntume igihugu gisigara ari akahebwe. Ahantu hose baba hazosigara ari akahebwe kurusha ubugaragwa buri hafi y’i Dibula. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

7 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Ewe mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova abwiye igihugu ca Isirayeli ati: “Ng’iri iherezo! Iherezo riraje ku mpande zine z’igihugu. 3 Ubu rero iherezo riragushitseko. Nzogusukako ishavu ryanje, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. 4 Ijisho ryanje ntirizokwumvira akagongwe canke ngo ngire impuhwe+, kuko nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”

5 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe icago! Icago kidasanzwe kiriko kiraza+. 6 Iherezo riraje. Iherezo rizoza. Rizoguhagurukira*. Ehe riraje! 7 Urashikiriwe* wa muntu uba mu gihugu. Igihe kiraje, umusi uri hafi+. Hari umuvurungano, si akaruru k’umunezero ku misozi.

8 Ubu vuba ngiye kukurekurirako uburake bwanje+. Nzogusukako ishavu ryanje ryose+, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze. 9 Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova ari je ndiko ndabahana+.

10 Ehe wa musi! Ehe uraje+! Nawe urashikiriwe*. Inkoni yashuritse kandi ukwita imbere kwanaze. 11 Ubukozi bw’ikibi bwakuze buba inkoni y’ububisha+. Baba bo canke ubutunzi bwabo canke amasinzi yabo canke ubukuru bwabo, nta kizorokoka. 12 Igihe kizoza, umusi ushike. Uwugura ntanezerwe n’uwugurisha ntagandare, kuko mfitiye uburake isinzi ryabo ryose*+. 13 Uwugurisha ntazogaruka ku vyagurishijwe, naho azoba yarusimvye, kuko ivyerekanywe bizoshikira isinzi ryose. Nta n’umwe azogaruka, kandi nta n’umwe azozigama ubuzima bwiwe kubera ikosa ryiwe*.

14 Urumbete rwavugijwe+, kandi bose biteguye, mugabo nta n’umwe aja ku rugamba, kuko mfitiye uburake isinzi ryose+. 15 Hanze hari inkota+, imbere hakaba ikiza n’inzara. Abo bose bari hanze y’igisagara bazokwicwa n’inkota, abari muri co bose na bo bicwe n’inzara n’ikiza+. 16 Abantu babo bazorokoka bagashobora guhunga, bazoja mu misozi kandi umwe wese muri bo azonihagira kubera ikosa ryiwe, nka kurya kw’inuma zo mu mibande+. 17 Amaboko yabo yose azoregarega, amavi yabo yose atembe amazi*+. 18 Bambaye amagunira+, bafatwa* n’ukujugumira. Bose bazomaramara, kandi imitwe yose izogira ubuhanza*+.

19 Bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara, inzahabu zabo na zo bazizinukwe. Zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, nta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova+. Ntibazohaga canke ngo buzuze inda zabo, kuko ivyo bintu* vyabatsitaje bituma bakora amakosa. 20 Barishimiye ubwiza bw’ibisharizo vyabo kandi babikozemwo* ibishusho vyabo bishisha, ibigirwamana vyabo bisesemye+. Ni co gituma nzotuma babizinukwa*. 21 Nzobiha abanyamahanga babinyage, ndabihe ababisha bo kw’isi babisahure, babihumanye.

22 Nzobakurako amaso nirabire hirya+. Bazohumanya ikibanza canje cihishije*, kandi abambuzi bazokwinjirayo bagihumanye+.

23 Kora iminyororo*+, kuko igihugu cuzuye amaraso y’abacirwa imanza z’akarenganyo+, igisagara na co kikaba cuzuye ubukozi bw’ikibi+. 24 Nzozana abarusha abandi kuba babi mu mahanga+, bigarurire amazu yabo+. Nzozimanganya ubwishime bw’abakomeye, ibibanza vyabo vyeranda ndabihumanye+. 25 Nibaja mu maganya, bazorondera amahoro, mugabo nta yo bazoronka+. 26 Ivyago bizokurikira ibindi, n’amakuru akurikire ayandi. Abantu bazoja ku muhanuzi barondera kumenya ivyo yeretswe+, mugabo nta tegeko* rizoba rikiboneka ku muherezi, canke ngo impanuro* iboneke ku bashingantahe+. 27 Umwami azogandara+, umukuru yicwe* n’umwiheburo, kandi amaboko y’abanyagihugu azojugumira kubera ubwoba bwinshi. Nzobagirira ibihuye n’ingeso zabo, ndabacire urubanza nk’urwo baciriye abandi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»

8 Mu mwaka ugira gatandatu, mu kwezi kugira gatandatu, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari nicaye mu nzu iwanje, abashingantahe bo mu Buyuda na bo bicaye imbere yanje. Maze ububasha* bw’Umukama Segaba Yehova bunzako ndi ng’aho. 2 Ndiko nditegereza mbona ishusho y’umuntu igomba gusa n’umuriro. Munsi y’ahokwitwa ko ari mu kiyunguyungu ciwe hari umuriro+. Guhera mu kiyunguyungu kuduga na ho, yarakaka nk’ugukayangana kw’uruvange rw’inzahabu n’ifeza*+. 3 Araheza atuma ikintu kimeze nk’ukuboko, amfata udushatsi two ku mutwe. Maze impwemu* irantwara hagati y’isi n’ijuru injana i Yeruzalemu mu vyo nariko nderekwa n’Imana. Yanshikanye ku bwinjiriro bw’irembo ry’indani+ riraba mu buraruko, ahari hahagaze igishusho* c’ishari gitera Imana ishari+. 4 Ngize ntya, ndahabona ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli+, bukaba bwasa na ya shusho nari nabonye mu kiyaya+.

5 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ndakwinginze uraramure amaso urabe mu buraruko.» Ndaheza ndaramura amaso ndaba mu buraruko, maze mu buraruko bw’irembo ry’igicaniro ndahabona ico gishusho* c’ishari, mu bwinjiriro. 6 Yongera kumbwira ati: «Mwana w’umuntu, mbega urabona ibintu vy’akamaramaza kandi bishisha Abisirayeli bariko barakorera ng’aha+, ibintu bituma nja kure y’ahantu hanje heranda+? Yamara uraza kubona n’ibindi bintu bishisha vy’akamaramaza kuruta ivyo.»

7 Nuko anzana ku bwinjiriro bw’ikigo, maze ndavye mbona igitoboro mu ruhome. 8 Ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ndakwinginze utobore mu ruhome.» Nuko ntobora mu ruhome, maze mbona ubwinjiriro. 9 Ambwira ati: «Injira urabe ibintu bibi kandi bishisha bariko barakorera ng’aha.» 10 Nuko ndinjira maze ndaraba, mbona amashusho y’ubwoko bwose y’ibikwega inda hasi n’ibikoko bishisha+, n’ibigirwamana vyose bisesemye* vy’Abisirayeli+. Vyari bishushanijwe* ku ruhome irya n’ino. 11 Abashingantahe 70 bo muri Isirayeli bari bahagaze imbere yavyo, na Yazaniya mwene Shafani+ akaba yari ahagaze muri bo. Umwe wese yari afise mu minwe agapanu batuririramwo imibavu kandi akotsi k’imibavu kamota neza kariko karaduga+. 12 Maze ambwira ati: «Mwana w’umuntu, mbega wabonye ivyo abashingantahe bo muri Isirayeli bariko barakorera mu mwiza, umwe wese ari mu vyumba vy’indani birimwo ibigirwamana vyiwe*? Kuko bavuga ngo: “Yehova ntatubona. Yehova yarahevye igihugu+.”»

13 Abandanya kumbwira ati: «Uraza kubona n’ibindi bintu bishisha bariko barakora, vy’akamaramaza kuruta ivyo.» 14 Nuko anzana ku bwinjiriro bw’irembo ryo mu buraruko ry’inzu ya Yehova, maze ndahabona abagore bari bicaye baririra imana Tamuzi.

15 Ambwira kandi ati: «Mwana w’umuntu, urabona ivyo bintu? Uraza kubona n’ibindi bintu bishisha, vy’akamaramaza kuruta ivyo+.» 16 Nuko anzana mu kigo c’indani c’inzu ya Yehova+. Ku bwinjiriro bw’urusengero rwa Yehova, hagati y’ibaraza n’igicaniro, hari abagabo nka 25 bahaye imigongo urusengero rwa Yehova, baraba mu buseruko. Bari bunamiye izuba baraba mu buseruko+.

17 Ambwira ati: «Mwana w’umuntu, urabona ivyo bintu? Mbega abo mu Buyuda bibaza ko ari ikintu gito gukora ivyo bintu bishisha, bakuzuza igihugu ubukozi bw’ikibi+, bakaguma bambabaza? None raba bariko bazana agashami* ku zuru ryanje. 18 Nanje rero nzogira ico nkoze naratse. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Naho bazosemerera mu matwi yanje sinzobumva+.»

9 Nuko ahamagara n’ijwi rirenga numva ati: «Tumako abaza guhana igisagara, umwe wese aze afise mu minwe ikirwanisho ciwe co guhonya!»

2 Mbona abagabo batandatu bazananye amaja kw’irembo ryo haruguru+ riraba mu buraruko, umwe wese afise mu minwe ikirwanisho ciwe co kumenagura. Muri bo hari umugabo yambaye impuzu yo mu gitambara ciza*, afise mu kiyunguyungu agahembe umunyamabanga ashiramwo irangi*. Nuko baraza bahagarara iruhande y’igicaniro c’umujumpu+.

3 Maze ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli+ buva aho bwari buri hejuru y’abakerubi, buja imbere y’umuryango w’urusengero*+. Nuko atangura gusemerera abwira nya mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza, umwe yari afise mu kiyunguyungu agahembe umunyamabanga ashiramwo irangi. 4 Yehova amubwira ati: «Nyuragira mu gisagara ca Yeruzalemu, ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga+ kubera ibintu vyose bishisha bikorerwa muri ico gisagara+.»

5 Abo bandi ababwira numva ati: «Nimumukurikire munyuragire mu gisagara, mwice. Ijisho ryanyu ntiryumve akagongwe canke ngo mugire impuhwe+. 6 Mwice mwongere muhonye abatama, abasore, abigeme b’isugi, abana bato n’abagore+. Mugabo umuntu wese ariko ikimenyetso ntimumwegere+. Muhere ahantu hanje heranda+.» Nuko bahera ku bashingantahe bari imbere y’urusengero+. 7 Aca ababwira kandi ati: «Nimuhumanye urusengero, ibigo muvyuzuze abishwe+. Nimugende!» Nuko baragenda batangura kwica abantu mu gisagara.

8 Barabica nsigara ndi jenyene. Maze ngwa nubamye, nca nsemerera nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Mbega ugira uhonye Abisirayeli bose basigaye mu gusuka uburake bwawe kuri Yeruzalemu+?»

9 Nuko ambwira ati: «Ikosa ry’Abisirayeli n’abo mu Buyuda rirakomeye cane rwose+. Igihugu cuzuye amaraso+, n’igisagara cuzuye akarenganyo+, kuko bavuga ngo: “Yehova yarahevye igihugu. Yehova ntabona+.” 10 Nayo jewe, ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo.»

11 Maze wa mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza, afise n’agahembe k’irangi mu kiyunguyungu, ndamubona agarutse kuvuga ingene vyagenze. Avuga ati: «Nakoze nk’uko wantegetse.»

10 Ndiko nditegereza, mbona hejuru y’ikirere cari hejuru y’imitwe y’abakerubi hari ikintu kimeze nk’ibuye rya safiro hejuru yabo. Cari gifise ishusho imeze nk’intebe y’ubwami+. 2 Maze abwira wa mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza*+ ati: «Niwinjire hagati y’amapine+, munsi y’abakerubi, wuzuze ibiganza vyawe vyompi amakara yaka+ uyakuye hagati y’abakerubi, uheze uyaterere hejuru y’igisagara+.» Nuko yinjirayo mbona.

3 Abakerubi bari bahagaze iburyo bw’urusengero igihe uwo mugabo yinjira, maze igicu cuzura ikigo c’indani. 4 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ buraduga buva kuri abo bakerubi buja imbere y’umuryango w’urusengero, maze urwo rusengero rurahava rwuzura igicu+. Ikigo na co cari cuzuye ukwakaka kw’ubuninahazwa bwa Yehova. 5 Urwamo rw’amababa ya nya bakerubi rwarumvikana mu kigo c’inyuma. Wamengo ni ijwi ry’Imana Mushoboravyose igihe ivuze+.

6 Maze ategeka wa mugabo yambaye impuzu yo mu gitambara ciza ati: «Tora umuriro hagati y’ayo mapine, hagati y’abakerubi.» Aca arinjira, ahagarara iruhande y’ipine. 7 Maze umwe muri abo bakerubi atuma ukuboko mu muriro wari hagati y’abakerubi+. Afata umuriro mukeyi awushira mu biganza vy’umwe yambaye impuzu yo mu gitambara ciza+, na we arawutora araheza arasohoka. 8 Abo bakerubi bari bafise munsi y’amababa yabo ikintu gifise ishusho nk’iy’amaboko y’umuntu+.

9 Ndiko nditegereza, mbona amapine ane iruhande ya ba bakerubi. Iruhande y’umukerubi wese hari ipine, kandi ayo mapine wamengo arakayangana nk’ibuye rya kirizolito+. 10 Uravye uko yasa, yose uko ari ane yari ameze cokimwe, ukamengo ipine ryinjira mu rindi. 11 Agize aho aja, yarashobora kwerekeza mu mpande zose uko ari zine atarinze gukata. Ivyo vyashoboka kubera ko yaja iyo umutwe utumbereye atarinze gukata. 12 Umubiri wabo wose, imigongo yabo, amaboko yabo, amababa yabo n’amapine, ni ukuvuga amapine y’abo bakerubi bose uko ari bane, vyose vyari vyuzuyeko amaso hose+. 13 Ku bijanye n’ayo mapine, numvise ijwi riyahamagara ngo: «Yemwe mapine!»

14 Umwe wese* yari afise mu maso hane. Aha mbere hasa n’umukerubi, aha kabiri n’umuntu, aha gatatu n’intambwe, aha kane na ho hagasa n’inkona+.

15 Abo bakerubi, ari bo vya binyabuzima* nari nabonye ku ruzi Kebari+, baraduga. 16 Abo bakerubi bagiye ahantu, ya mapine yagendera iruhande yabo. Nya bakerubi badugije amababa ngo baje hejuru y’isi, ayo mapine ntiyakata canke ngo ave iruhande yabo+. 17 Bahagaze na yo yaca ahagarara, baduze akadugana na bo, kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima* yari muri ayo mapine.

18 Maze ubuninahazwa bwa Yehova+ bwari imbere y’umuryango w’urusengero, buva hejuru yaho buja hejuru y’abo bakerubi+. 19 Abo bakerubi baduza rero amababa yabo, bava kw’isi ndorera. Igihe bagenda, ya mapine na yo nyene yari iruhande yabo. Bahagarara imbere y’irembo ry’inzu ya Yehova ryo mu buseruko, kandi ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo+.

20 Ivyo ni vya binyabuzima* nari nabonye munsi y’intebe y’ubwami y’Imana ya Isirayeli ku ruzi Kebari+. Ndaheza menya yuko bari abakerubi. 21 Vyose uko ari bine vyari bifise mu maso hane, amababa ane, bikagira n’ibintu bisa n’amaboko nk’ay’umuntu munsi y’amababa yavyo+. 22 Ishusho yo mu maso havyo yari imeze nk’iyo nari nabonye hafi y’uruzi Kebari+. Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere+.

11 Maze impwemu* iranterura, inzana kw’irembo ry’inzu ya Yehova ryo mu buseruko riraba mu buseruko+. Ku bwinjiriro bw’iryo rembo ndahabona abagabo 25, kandi muri bo harimwo Yazaniya mwene Azuri na Pelatiya mwene Benaya, abatware batwara abantu+. 2 Imana iraheza imbwira iti: «Mwana w’umuntu, aba ni ba bagabo bariko bategura umugambi mubi, kandi bagatanga impanuro mbi muri* iki gisagara. 3 Bavuga ngo: “Iki ni co gihe co kwubaka amazu+. Iki gisagara* ni inkono*+, natwe turi inyama.”

4 Vuga rero ubuhanuzi bw’ibizobashikira. Vuga ubuhanuzi, mwana w’umuntu+.»

5 Maze impwemu ya Yehova inzako+, ambwira ati: «Vuga uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Yemwe Bisirayeli, ivyo mwavuze ni vyo kandi ndazi ivyo mwiyumvira*. 6 Mwatumye benshi bapfa muri iki gisagara, amabarabara yaco muyuzuzamwo ibiziga+.’”» 7 «Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ibiziga mwatereye irya n’ino mu gisagara ni vyo nyama, igisagara na co ni inkono+. Mugabo mwebwe muzokurwa muri co.”»

8 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mwatinye inkota+, kandi inkota ni yo nzobazanako. 9 Nzobakura muri ico gisagara, ndabate mu maboko y’abanyamahanga, nshitse urubanza nabaciriye+. 10 Muzokwicwa n’inkota+. Ku mupaka wa Isirayeli ni ho nzobacira urubanza+, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 11 Ico gisagara ntikizobabera inkono, kandi namwe ntimuzoba inyama muri co. Ku mupaka wa Isirayeli ni ho nzobacira urubanza, 12 kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. Kuko mutubahirije amategeko yanje canke ngo mushitse ingingo nashinze+, ahubwo mwakurikije ingingo zashinzwe n’amahanga abakikuje+.”»

13 Nkimara kuvuga ubwo buhanuzi, Pelatiya mwene Benaya arapfa. Nca ngwa nubamye, nsemerera n’ijwi rirenga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Mbega ugira uhonye Abisirayeli bose basigaye+?»

14 Yehova yongera kumbwira ati: 15 «Mwana w’umuntu, benewanyu, bamwe bafise uburenganzira bwo gucungura hamwe n’Abisirayeli bose, babwiwe n’ababa i Yeruzalemu ngo: “Nimuje kure ya Yehova. Igihugu ni rwacu, twaragihawe ngo tucegukire.” 16 Vuga rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Naho nabarungitse kure mu mahanga, nkabasanzaza mu bihugu+, nzobabera ahantu heranda akanya gatoyi mu bihugu bagiyemwo+.’”

17 Vuga rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzobegeranya ndabakuye mu mahanga, ndabakoranye ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, kandi nzobaha igihugu ca Isirayeli+. 18 Bazosubirayo, bakureyo ibintu vyaho vyose bisesemye n’ibintu vyose bishisha bihakorerwa+. 19 Nzokwegeranya umutima wabo*+, ndabashiremwo impwemu nshasha+. Nzokura mu mubiri wabo umutima w’ibuye+, ndabahe umutima w’inyama*+ 20 kugira ngo bakurikize ivyagezwe vyanje, bubahirize ingingo nashinze, bazigamburuke. Bazoheza babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo.’”

21 “‘Nayo ab’umutima wiyemeje kuguma mu bintu vyabo bisesemye no mu ngeso zabo zishisha, nzozana ingaruka z’ingeso zabo ku gatwe kabo’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”»

22 Ba bakerubi baduza rero amababa yabo. Ya mapine yari iruhande yabo+, kandi ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo+. 23 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ buraduga buva mu gisagara, buhagarara hejuru y’umusozi uri mu buseruko bwaco+. 24 Impwemu* ica iranterura biciye ku vyo nariko nderekwa n’impwemu y’Imana, inzana mu Bukaludaya ku bajanywe mu bunyagano. Ivyo nariko nderekwa bica bimvako. 25 Nca ntangura kubwira abajanywe mu bunyagano ibintu vyose Yehova yari yanyeretse.

12 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, uba mu bantu b’abagarariji. Bafise amaso yo kubona mugabo ntibabona, bakagira n’amatwi yo kwumva mugabo ntibumve+, kuko ari abagarariji+. 3 Ewe mwana w’umuntu, tekera umuzigo wo kuja mu bunyagano, uheze uje mu bunyagano ku murango barorera. Uve mu nzu yawe uje mu bunyagano ahandi hantu barorera. Hari aho bobibona, naho ari abagarariji. 4 Usohore uwo muzigo wo kuja mu bunyagano watekeye, uwusohore ku murango barorera, hanyuma ku mugoroba ugende barorera, nk’umuntu ajanywe mu bunyagano+.

5 Utobore mu ruhome barorera, usohore ibintu vyawe ubicishije muri ico gitoboro+. 6 Maze ushire ibintu vyawe ku rutugu barorera, ubisohore mu mwiza. Wipfuke mu maso kugira ngo ntubone hasi, kuko ndakugize ikimenyetso ku Bisirayeli+.»

7 Nuko nkora nk’uko nyene nari ntegetswe. Nsohora ku murango umuzigo wanje, nk’umuzigo w’umuntu agiye mu bunyagano. Bugorovye na ho, ntobora mu ruhome nkoresheje amaboko. Bumaze kwira, nsohora ibintu vyanje ndabitwara ku rutugu bambona.

8 Mu gitondo Yehova yongera kumbwira ati: 9 «Mwana w’umuntu, mbega Abisirayeli, ba bagarariji, ntibakubajije bati: “Ivyo ukora ni ibiki?” 10 Ubabwire uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu butumwa bwerekeye umukuru+ ari i Yeruzalemu n’Abisirayeli bose bari mu gisagara.’”

11 Uvuge uti: “Ndi ikimenyetso kuri mwebwe+. Kurya nagize, ni ko bazogirirwa. Bazoja mu bunyagano, bagirwe imbohe+. 12 Umukuru ari muri bo, azotwara ibintu vyiwe ku rutugu, agende mu mwiza. Azotobora mu ruzitiro atware ibintu vyiwe abicishije muri ico gitoboro+. Azokwipfuka mu maso kugira ngo ntabone hasi.” 13 Nzomutererako urusenga rwanje rw’uruhigi, rumucakire+. Nzomuzana i Babiloni, mu gihugu c’Abakaludaya, mugabo ntazokibona. Azopfirayo+. 14 Kandi abari irya n’ino yiwe bose, abamufasha be n’ingabo ziwe, nzobasanzariza mu mpande zose+. Nzosokora inkota ndabirukeko+. 15 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninabashwiragiriza mu mahanga, nkabasanzariza mu bihugu. 16 Mugabo nzotuma bakeyi muri bo bakira inkota, inzara n’ikiza, kugira ngo bavuge mu mahanga bazojamwo ibintu vyose bishisha bakora. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.»

17 Yehova yongera kumbwira ati: 18 «Mwana w’umuntu, uzorye ibifungurwa ujugumira, unywe n’amazi uhagaritse umutima kandi uri n’amaganya+. 19 Uzobwire ababa mu gihugu uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye ababa i Yeruzalemu mu gihugu ca Isirayeli: ‘Bazorya ibifungurwa bari n’amaganya, banywe amazi batekewe n’ubwoba bwinshi, kuko igihugu cabo cose kizosigara ari umusaka+ kubera ubukozi bw’ikibi bw’abakibamwo bose+. 20 Ibisagara bibamwo abantu bizotikizwa, n’igihugu gisigare ari agahinga+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.’”»

21 Yehova yongera kumbwira ati: 22 «Mwana w’umuntu, muri Isirayeli mufise umugani uvuga ngo: “Imisi irarengana, ntihagire icerekanywe na kimwe kiranguka+.” 23 Nubabwire rero uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nzotuma ayo majambo adasubira kuvugwa, kandi muri Isirayeli ntibazokwongera kuyavuga nk’umugani.’” Mugabo ubabwire uti: “Imisi iregereje+, kandi ikintu cose cerekanywe kizoranguka.” 24 Kuko muri Isirayeli ata bazokwongera kwerekwa ibinyoma canke kuragurira abantu babaryosharyosha*+. 25 “‘Kuko jewe Yehova nzovuga. Ivyo nzovuga vyose bizoba, ntibizosubira kwigizwa inyuma+. Mu gihe canyu+ ga yemwe bagarariji, ico nzovuga nzogishitsa’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”»

26 Yehova yongera kumbwira ati: 27 «Mwana w’umuntu, ibi ni vyo Abisirayeli* bariko baravuga: “Ivyo yerekwa bizoba haciye igihe kinini, kandi ubuhanuzi avuga bujanye na kazoza ka kure+.” 28 Babwire rero uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘“Nta jambo ryanje na rimwe rizoteba. Ivyo mvuga vyose bizoba”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’”»

13 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira abahanuzi ba Isirayeli+, ubwire abavuga ubuhanuzi bikuriye mu mutwe*+ uti: “Nimwumve ijambo rya Yehova. 3 Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Baragowe abahanuzi b’ibijuju bakurikira umutima wabo bwite, kandi ata co beretswe+! 4 Ewe Isirayeli, abahanuzi bawe basigaye bameze nk’imbwebwe mu bihomvagurike. 5 Ntimuzoja aho inzitiro z’amabuye zasambutse ngo muhasanurire Abisirayeli+ ku buryo Isirayeli idahunga urugamba ku musi wa Yehova+.’ 6 ‘Beretswe ibinyoma, bavuga ubuhanuzi bw’ububeshi, barya bavuga ngo: “Ibi ni vyo Yehova avuze”, kandi Yehova ubwiwe atabatumye, maze bakarindira ko ivyo bavuze bishika+. 7 Mbega igihe muvuga ngo: “Ibi ni vyo Yehova avuze”, kandi jewe ata co navuze, ntimuba mweretswe ibinyoma, mukavuga ubuhanuzi bw’ububeshi?’”

8 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘“Ko mwavuze ibinyoma, mukerekwa ivy’ububeshi, ni co gituma ngira ndabarwanye”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.’ 9 Abahanuzi berekwa ibinyoma bakavuga ubuhanuzi bw’ububeshi, nzobahanisha ukuboko kwanje+. Ntibazoba mu bagenzi banje somambike. Ntibazokwandikwa mu gitabu c’Abisirayeli canke ngo bagaruke mu gihugu ca Isirayeli. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova+. 10 Ivyo bizoba kubera bahubije abantu banje, bakavuga ngo: ‘Hari amahoro!’ kandi ata mahoro ahari+. Igihe hubatswe uruhome rudakomeye, barusiga ishwagara*+.”

11 Bwira abarusiga ishwagara yuko ruzogwa. Hazoza imvura y’isegenya hagwe n’urubura*, maze ibihuhusi bikomeye vy’umuyaga birusenyurire hasi+. 12 Kandi urwo ruhome nirwatemba, muzobazwa ngo: “Ivyo mwari mwarusize biri hehe+?”

13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kubera uburake bwanje, nzotuma hatera ibihuhusi bikomeye vy’umuyaga, kubera ishavu ryanje hatere imvura y’isegenya, hatere n’urubura kubera ubushangashirwe bwanje buhonya. 14 Nzosenyura uruhome mwasize ishwagara, rushike hasi, n’umushinge warwo uje ahabona. Igisagara nicatemba muzohonera muri co. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

15 “Ninarekurira uburake bwanje bwose kuri urwo ruhome no ku barusize ishwagara, mwebwe nzobabwira nti: ‘Rwa ruhome ntirukiriho, kandi n’abarusize ntibakiriho+. 16 Abahanuzi ba Isirayeli ntibakiriho, bamwe babwira ubuhanuzi Yeruzalemu, bakerekwa yuko izogira amahoro kandi ata mahoro ahari+’”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

17 Ewe mwana w’umuntu, hindukira urabe abakobwa bo mw’ihanga ryanyu bavuga ubuhanuzi bikuriye mu mutwe, uvuge ubuhanuzi bw’ibizobashikira. 18 Ubabwire uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Baragowe abagore bashona udutambara two kwambara ku maboko*, bagahingura n’ibitambara vyo gutwikira imitwe y’ubunini butandukanye kugira ngo bahige ubuzima bw’abantu! Mbega muriko muhiga ubuzima bw’abantu banje, mugabo mukarondera kuzigama ubwanyu? 19 Mbega muhebe mumpumanye mu bantu banje kubera amashi ya sayiri no kubera udusigazwa tw’umukate+? Mwica abatari bakwiye gupfa mukazigama abatari bakwiye kubaho, mukabigira biciye ku binyoma mubwira abantu banje, na bo bakavyumviriza+.’”

20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira ndwanye udutambara twanyu yemwe bagore, utwo mukoresha mu guhiga abantu nk’aho umenga ni inyoni. Nzodutabura ndadukure ku maboko yanyu, ndekure abo muhiga nk’inyoni. 21 Nzotabura ibitambara vyanyu vyo kwitwikira, nkure abantu banje mu maboko yanyu, kandi ntibazosubira guhigwa namwe. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 22 Kuko mwavunye umutima umugororotsi bivuye ku binyoma vyanyu+ kandi jewe ata maganya* namuteza, mutera intege umubisha+ ku buryo adahindukira ngo ave mu ngeso ziwe mbi kugira ngo abeho+. 23 Ni co gituma mwa bagore mwe, mutazosubira kwerekwa ibinyoma canke ngo mukore ivy’ukuragura+. Nzokura abantu banje mu maboko yanyu, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

14 Nuko bamwe mu bashingantahe bo muri Isirayeli baraza bicara imbere yanje+. 2 Maze Yehova ambwira ati: 3 «Mwana w’umuntu, aba bantu biyemeje gukurikira ibigirwamana vyabo bisesemye*, kandi bashizeho igitsitaza gituma abantu bacumura. Nobareka bakampanuza+? 4 Nuvugane na bo rero, ubabwire uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Hagize Umwisirayeli yiyemeza gukurikira ibigirwamana vyiwe bisesemye, agashiraho igitsitaza gituma abantu bacumura, maze akaza guhanuza umuhanuzi, jewe Yehova nzomwishura nk’uko bibereye nisunze ibigirwamana vyiwe vyinshi bisesemye. 5 Nzobigira kugira ngo ntume Abisirayeli baranduka umutima*, kubera bose banyiyonkoyeko bagakurikira ibigirwamana vyabo bisesemye+.’”

6 Bwira rero Abisirayeli uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nimugaruke, mureke gukurikira ibigirwamana vyanyu bisesemye, muhebe n’ingeso zanyu zose zishisha+. 7 Kuko Umwisirayeli wese canke umunyamahanga aba muri Isirayeli aramutse anyikuyeko, kandi akaba yiyemeje gukurikira ibigirwamana vyiwe bisesemye, agashiraho igitsitaza gituma abantu bacumura, hanyuma akaza guhanuza umuhanuzi wanje+, jewe Yehova ubwanje ni jewe nzomwishura. 8 Nzorwanya uwo muntu, ndamugire ikimenyetso co kuburira abandi n’iciro ry’umugani, nongere ndamurandure mu bantu banje+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”

9 “Mugabo umuhanuzi niyahendwa akagira ico yishuye, ni jewe Yehova nzoba namuhenze+. Nzoca ndamvura ukuboko ndamurwanye, ndamuzimanganye mu bantu banje b’Abisirayeli. 10 Bazobwirizwa gushikirwa n’ingaruka z’ikosa ryabo. Ikosa ry’uwuhanuza rizoba nk’iry’umuhanuzi 11 kugira ngo Abisirayeli bareke kwangara ngo baje kure yanje, bareke no kwihumanisha ibicumuro vyabo vyose. Bazoheza babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

12 Yehova yongera kumbwira ati: 13 «Mwana w’umuntu, igihugu nicancumurako kigahemuka, nzoramvura ukuboko ndakirwanye, nzimanganye ibifungurwa* biri muri co+. Nzogiteza inzara+, ndandure muri co abantu n’ibitungwa+.» 14 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Naho Nowa+, Daniyeli+ na Yobu+ boba bari muri co, abo bagabo batatu bokwikiza bo ubwabo gusa kubera ubugororotsi bwabo+.”»

15 «“Canke dufate ko ntumye ibikoko vyo mw’ishamba bikaze bica mu gihugu, bikamara abantu bakibamwo* kigasigara ari agahinga, ata n’umwe agicamwo kubera ivyo bikoko+. 16 Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “naho abo bagabo batatu boba bari muri co, nta muhungu wabo canke umukobwa wabo bokiza. Bokwikiza bo ubwabo gusa, igihugu kigacika umusaka.”»

17 «“Canke dufate ko nteje inkota ico gihugu+, nkavuga nti: ‘Inkota nice mu gihugu’, maze nkarandura muri co abantu n’ibitungwa+. 18 Naho abo bagabo batatu boba bari muri co, ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nta muhungu wabo canke umukobwa wabo bokiza. Bokwikiza bo ubwabo gusa.”»

19 «“Canke dufate ko ndungitse ikiza muri ico gihugu+, nkagisukako uburake bwanje amaraso agaseseka, kugira ngo ndandure muri co abantu n’ibitungwa. 20 Naho Nowa+, Daniyeli+ na Yobu+ boba bari muri co, ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nta muhungu wabo canke umukobwa wabo bokiza. Bokwikiza bo ubwabo gusa kubera ubugororotsi bwabo+.”»

21 «Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ukwo ni ko bizogenda ninarungika kuri Yeruzalemu ibihano vyanje bine*+ ari vyo vy’ibi: inkota, inzara, ibikoko vyo mw’ishamba bikaze n’ikiza+. Nzobirungika kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungwa+. 22 Mugabo bakeyi bazosigarayo bazorusimba baveyo+. Bazoba bagizwe n’abahungu n’abakobwa. Bazoza iyo muri, kandi nimwabona ingeso zabo n’ivyo bakora, nta gukeka ko muzokwumva muhojejwe ku bijanye n’ivyago nateje Yeruzalemu, ku bijanye n’ibintu vyose nahakoreye.”»

23 «“Muzokwumva muhojejwe nimwabona ingeso zabo n’ivyo bakora, kandi muzomenya yuko ivyo nabwirizwa kuhakorera nabikoze mfise imvo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

15 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, igiti c’umuzabibu gitandukaniye he n’ibindi biti vyose? Gitandukaniye he n’amashami y’ibiti vyo mu kibira? 3 Mbega covamwo igiti cokora igikorwa kanaka? Canke abantu baragikuramwo urumambo rwo kumanikako ibikoresho? 4 Erega bagiterera mu muriro bakagicana, umuriro ukagiturira impande zose no hagati hagasha. None hari ikindi kiba kikimaze? 5 Kikiri cose, nta kintu na kimwe cashobora gukoreshwa. Hari akantu umuriro wagituriye kigasha kigahera!»

6 «Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nka kurya kw’igiti c’umuzabibu mu biti vyo mu kibira, ico nageneye kuba inkwi zo gucana, ni ko nzogira ababa i Yeruzalemu+. 7 Nafashe ingingo yo kubarwanya. Barakize umuriro mugabo umuriro nyene ni wo uzobamara. Abo bantu ninabarwanya, muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»

8 «“Kandi igihugu nzokigira umusaka+ kuko bahemutse+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

16 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, menyesha Yeruzalemu ibintu bishisha ikora+. 3 Uvuge uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye Yeruzalemu: ‘Ukomoka mu gihugu c’Abanyakanani kandi ni yo wavukiye. So yari Umwamori+, nyoko na we Umuhetikazi+. 4 Ku bijanye n’ivuka ryawe, ku musi wavukiyeko, uruzogi rwawe ntirwaciwe, ntiwogejwe mu mazi ngo uhumanurwe, ntiwasizwe umunyu kandi ntiwatekewe mu mpuzu. 5 Nta n’umwe yakwumviye akagongwe ngo akugirire na kimwe muri ivyo. Nta n’umwe yakwumviye impuhwe. Ahubwo waterewe mu gahinga kuko wanswe ku musi wavuka.

6 Nariko ndarengana, ndakubona ukumbagara mu maraso yawe. Igihe wari uryamye aho mu maraso yawe nakubwiye nti: “Nubeho!” Ukwo ni ko nakubwiye uryamye aho mu maraso yawe nti: “Nubeho!” 7 Nakugize isinzi rinini cane nk’ibimera binaga mu gahinga. Warakuze, urakomera kandi wambara udusharizo twiza cane. Amabere yawe yarakuze n’umushatsi wawe urakura. Mugabo wari ukiri amenya, uri gusa.’”

8 “Ndiko ndarengana narakubonye, mbona ko ugeze mu bigero vyo gukunda. Naciye ndagusanzako impuzu* yanje+, mpfuka ubwambure bwawe, nca ndarahira, ngirana isezerano nawe maze uba uwanje”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 9 “Vyongeye, narakwogeje n’amazi, ndakwuhagira ndagukurako amaraso hanyuma ngusiga amavuta+. 10 Ndaheza nkwambika impuzu ideshe, nguha n’ibirato* bikozwe mu rushato rwiza*, nkuzingirako impuzu yo mu gitambara ciza cane*, nkwambika n’impuzu zizimvye. 11 Nakwambitse udusharizo, ibikomo ku maboko, n’umugufu mw’izosi. 12 Nakwambitse n’ihereni ku zuru, amahereni ku matwi n’urugori rwiza ku mutwe. 13 Wagumye wisharizisha inzahabu n’ifeza, kandi impuzu wambara zari izo mu gitambara ciza cane, n’izizimvye n’izideshe. Ifu inoze, ubuki n’amavuta ni vyo warya, urahava uba mwiza cane+, uba uwubereye kuba umwamikazi*.”»

14 «“Waciye utangura kwamamara* mu mahanga+ kubera ubwiza bwawe, narirya butagira akanenge kubera nari nagushizeko ubwiza bwanje buhebuje+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

15 «“Mugabo waciye utangura kwizigira ubwiza bwawe+, ucika umumaraya kubera wari wamamaye+. Warirekura ukiha uwuhita wese mugakorana ubumaraya+, ukamuha ubwiza bwawe. 16 Wafashe zimwe mu mpuzu zawe z’amabara, uzikoresha mu gushariza ibibanza vyawe vyo gusengeramwo* wakoreramwo ubumaraya+. Ibintu nk’ivyo ntivyari bikwiye kuba canke ngo vyigere bikorwa. 17 Warafashe n’ibisharizo vyawe vyiza bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza nari naguhaye, wihingurira ibishusho vy’abagabo, ukorana na vyo ubumaraya+. 18 Wafashe impuzu zawe zideshe urabipfuka*, ubishikanira amavuta yanje n’imibavu yanje+. 19 Umukate nari naguhaye ukozwe mw’ifu inoze, mu mavuta no mu buki nari naguhaye ngo urye, na wo nyene wawushikaniye ivyo bishusho ngo ube akamoto keza*+. Ivyo nyene ni vyo vyabaye”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

20 «“Wafashe abahungu bawe n’abakobwa bawe wamvyariye+, ubashikanira ibigirwamana ngo bibarotse+. Mbega ubumaraya ukora ntibwari bukwiye? 21 Warishe abana banje, urabaturira ubatangako ikimazi+. 22 Igihe waba uriko urakora ibintu vyawe vyose bishisha n’ubumaraya bwawe, ntiwibuka imisi yo mu buto bwawe igihe wari amenya, uri gusa ukumbagara mu maraso yawe. 23 Uragowe, ni ukuri uragowe kubera ibibi vyose wakoze+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 24 “Wiyubakiye ikintu kimeze nk’agasozi, witunganiriza ikibanza co gusengeramwo mu bibanza rusangi vyose. 25 Wubatse ibibanza vyawe vyo gusengeramwo mu bibanza biri ahabona cane ku mabarabara yose, utuma ubwiza bwawe buba ikintu gishisha mu kwiha* uwuhita wese+, ugwiza ubumaraya bwawe+. 26 Wakoranye ubumaraya n’Abanyamisiri+, ababanyi bawe barurumba inambu*, urambabaza mu gukora ubumaraya bwinshi cane. 27 Ubu rero ngira ndamvure ukuboko kwanje ndakurwanye, ngabanye ibifungurwa uronka+, ndeke abagore bakwanka bakugire uko bagomba+, ni ukuvuga abakobwa b’Abafilisitiya bumijwe n’ingeso zawe ziteye isoni+.

28 Kubera ko utashira ipfa, waciye ukorana ubumaraya n’Abashuri+. Mugabo umaze gukorana na bo ubumaraya, na ho nyene ntiwashize ipfa. 29 Waciye ugwiza ubumaraya bwawe wiha n’abo mu gihugu c’abadandaza*, wiha n’Abakaludaya+, mugabo na ho nyene ntiwashize ipfa. 30 Ewe kuntu umutima wawe wari uremvye* igihe wakora ivyo vyose, ukigenza nk’umumaraya ata co yibanga*+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 31 “Mugabo igihe wiyubakira ikintu kimeze nk’agasozi mu bibanza biri ahabona cane ku mabarabara yose, ukitunganiriza ikibanza co gusengeramwo mu bibanza rusangi vyose, wari utandukanye n’umumaraya kuko wanka ko baguhemba. 32 Uri umugore arenga ibigo ahitamwo ab’ahandi aho guhitamwo umugabo wiwe+. 33 Mu bisanzwe, abamaraya bose barahabwa ingabire+, mugabo wewe ni we uziha abakwipfuza cane bose+, kandi ubaha igiturire ngo baze bavuye irya n’ino kugira mukorane ubumaraya+. 34 Uratandukanye n’abandi bagore bakora ubumaraya. Nta n’umwe akora ubumaraya nk’ukwo kwawe. Ni wewe uhemba abantu, bobo ntibaguhemba. Ukora ibihushanye n’ivy’abandi.”

35 Niwumve rero ivyo Yehova avuze, wa mumaraya we+. 36 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Warerekanye inambu irenze urugero, ushira ahabona ubwambure bwawe igihe wariko ukorana ubumaraya n’abagukunda hamwe n’ibigirwamana vyawe vyose bishisha kandi bisesemye*+. Ivyo bigirwamana warahevye ubishikanira n’amaraso y’abana bawe+. 37 Ni co gituma ngira nkoranirize hamwe abakunzi bawe bose wahora uryohera, abo wakunda bose n’abo wanka bose. Nzobakoraniriza hamwe kugira bakurwanye bavuye irya n’ino, ntume babona ubwambure bwawe, bakubone uri gusa wese uko wakabaye+.

38 Nzoguhanisha ibihano bihabwa abagore barenga ibigo+ n’abagore basesa amaraso+, ntume amaraso yawe aseswa ndabigiranye uburake n’ishari+. 39 Nzotuma ugwa mu maboko yabo. Bazosambura ibintu wubatse bimeze nk’udusozi, basiturire hasi ibibanza vyawe vyo gusengeramwo+. Bazokwambura impuzu+, batware ibisharizo vyawe vyiza+, bagusige uri amenya, uri gusa. 40 Bazozana isinzi ry’abantu kugutera+. Bazogutera amabuye+, bakwicishe inkota zabo+. 41 Bazoturira inzu zawe+, bagushitseko urubanza, abagore benshi barorera. Nzotuma udasubira gukora ubumaraya+, kandi ntuzosubira guhemba abakunzi bawe. 42 Nzotuma uburake ndagufitiye buhwama+, ishavu ryanje rikuveko+. Nzoca nturura, simbe nkibabara.”

43 “Ko utibutse imisi yo mu buto bwawe+, ukantera ishavu mu gukora ivyo bintu vyose, nanje rero ngira nzane ku gatwe kawe ingaruka z’ingeso zawe”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Ntuzoba ugishishikara ubushirasoni bwawe n’ibintu vyose bishisha ukora.

44 Raba! Abaca imigani bose bazogucako uyu mugani ngo: ‘Umukobwa ni nyina ku gasaka+!’ 45 Uri umukobwa wa nyoko wawe, umwe yagaye umugabo wiwe n’abana biwe. Uri mwenewabo n’abakobwa muvukana bagaye abagabo babo n’abana babo. Nyoko wanyu yari Umuhetikazi, so na we akaba Umwamori+.”»

46 «“Mukurwawe ni Samariya+, akaba aba mu buraruko bwawe* we n’abakobwa biwe*+. Mutoyi wawe na we ni Sodomu+, akaba aba mu bumanuko bwawe* we n’abakobwa biwe+. 47 Wagendeye mu ngeso zabo, ukora ibintu bishisha nk’ivyo bakora, ariko ntiwagarukiye aho. Mu kanya gato, wari umaze kwononekara mu ngeso zawe zose kubaruta+. 48 Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “mwenewanyu Sodomu hamwe n’abakobwa biwe ntibakoze nk’ivyo wewe n’abakobwa bawe mwakoze. 49 Raba! Ikosa rya mwenewanyu Sodomu ryari iri: we n’abakobwa biwe+ barishima+ kandi bari bafise ibifungurwa vyinshi+, babayeho ata co binona+. Mugabo ntibafashije umurushwa n’umworo+. 50 Bagumye bibona+, babandanya gukorera imbere yanje ibintu bishisha+, nanje nca mbona ko bikenewe yuko ndabakuraho+.

51 Na Samariya+ ntiyakoze n’igice c’ibicumuro wakoze. Wagumye ukora ibintu bishisha vyinshi kubarusha ku buryo benewanyu babonetse ko bagororotse kubera ibintu vyose bishisha ukora+. 52 Utegerezwa rero guteterwa kuko washigikiye* ingeso za benewanyu. Baragororotse kukurusha kubera ko wacumuye mu gukora ibishisha kuruta ivyo bakoze. Numaramare rero uteterwe, kuko watumye benewanyu baboneka ko bagororotse.”

53 “Nzokoranya abantu babo bagizwe imbohe, ni ukuvuga abagizwe imbohe ba Sodomu n’abakobwa biwe, n’abagizwe imbohe ba Samariya n’abakobwa biwe. Cokimwe na bo, n’abantu bawe bagizwe imbohe nzobakoranya+ 54 kugira ngo uteterwe. Uzokwumva uteterewe kubera ivyo wakoze vyose, ugatuma bumva bahojejwe. 55 Mwenewanyu Sodomu n’abakobwa biwe bazosubira uko bahora, na mwenewanyu Samariya n’abakobwa biwe basubire uko bahora. Nawe n’abakobwa bawe muzosubira uko mwahora+. 56 Igihe wari ucishima, mwenewanyu Sodomu wabona ko atabereye no gucishwa mu kanwa. 57 Hari imbere y’uko ububisha bwawe bushirwa ahabona+. Ubu abakobwa ba Siriya n’ababanyi baho baragucokora. N’abakobwa b’Abafilisitiya+ bagukikuje barakugaya. 58 Uzoshikirwa n’ingaruka z’ubushirasoni bwawe n’ibintu bishisha ukora”, ni ko Yehova avuze.»

59 «Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngomba ndagukorere ibihwanye n’ivyo wakoze+, kuko wasuzuguye indahiro, urenga kw’isezerano ryanje+. 60 Ariko jewe nzokwibuka isezerano nagiranye nawe mu misi yo mu buto bwawe, ngirane nawe isezerano ryamaho+. 61 Uzokwibuka ingeso zawe uteterwe+ niwākira benewanyu, abakuruta n’abo uruta. Nzobaguha babe abakobwa bawe, ariko bitavuye kw’isezerano nagiranye nawe.”

62 “Jewe ubwanje nzogirana isezerano nawe, kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. 63 Uzoheza wibuke, wumve umaramaye cane ku buryo udakurako n’umunwa kubera uguteterwa+, ninakubabarira* naho wakoze ivyo vyose+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

17 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, pfinda agapfindo, uvuge umugani werekeye Abisirayeli+. 3 Uze uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ya nkona nini+ ifise amababa manini n’amubi maremare kandi yuzuyeko amoya y’amabara, yaraje i Libani+ itora agatwetwe k’isederi+. 4 Yashe agatwetwe ko mu bushorishori ikazana mu gihugu c’abadandaza*, igaterayo+. 5 Yaciye itora ku mbuto zo muri ico gihugu+, izitera mu murima wimbuka. Yaziteye hafi y’amazi menshi nk’igiti c’umusafusafu*. 6 Maze izo mbuto zitangura kunaga, zivamwo umuzabibu mugufi utagaraye+, ufise amababi yigondeye imbere muri wo n’imizi ishorera munsi yawo. Nuko izo mbuto zivamwo umuzabibu, uzana imivyaro, ushamika n’amashami+.

7 Hanyuma haza iyindi nkona nini+ ifise amababa manini n’amubi manini+. Uwo muzabibu uca ushora imizi yawo uyerekeza kuri yo ubigiranye igihababu, kure y’umurima wari waratewemwo. Warungitse amababi yawo kuri iyo nkona kugira ngo iwuvomere+. 8 Wari waratewe mu murima mwiza hafi y’amazi menshi kugira ngo ushamike amashami, wame ivyamwa, ucike umuzabibu w’agatangaza+.’”

9 Vuga uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Mbega uwo muzabibu uzokunda umere neza? Mbega umuntu ntazorandura imizi yawo+, agatuma ivyamwa vyawo bibora n’iminago yawo ikuma+? Uwo muzabibu uzokwuma cane ku buryo hatazokenerwa umuntu akomeye canke abantu benshi ngo bawurandurane n’imizi. 10 Naho wabaditswe, mbega uzokunda umere neza? Mbega ntuzokwuma wose umuyaga wo mu buseruko niwawucako? Uzokwumira mu murima watewemwo.’”»

11 Yehova yongera kumbwira ati: 12 «Ndakwinginze ubwire ba bagarariji uti: “Aho ntimutahura ico ibi bisobanura?” Uvuge uti: “Umviriza! Umwami wa Babiloni yaraje i Yeruzalemu, afata umwami waho n’abatware baho, agenda abajanye i Babiloni+. 13 Maze afata umwe mu bo mu nda y’ingoma*+, agirana na we isezerano, aramurahiza+. Araheza atwara abantu bakurubakuru bo mu gihugu+ 14 kugira ngo ubwami bucishwe bugufi, ntibusubire gukomera. Bwobandanije kubaho ari uko gusa abantu bubahirije isezerano+. 15 Mugabo amaherezo umwami aramugarariza+ mu kurungika intumwa ziwe mu Misiri, kugira ngo Misiri imuhe amafarasi+ n’ingabo nyinshi+. Mbega azororanirwa? Mbega uwukora ivyo azogenda adahanywe? Yorenga kw’isezerano akarusimba+?”

16 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima, yuko azopfira i Babiloni, aho umwami* yamugize umwami* aba. Yasuzuguye indahiro y’uwo yamugize umwami, arenga no kw’isezerano bagiranye+. 17 Ingabo zikomeye za Farawo n’abasoda biwe benshi, nta co bazofasha mu ntambara+ igihe abansi bazorunda ibintu vyo kwuririrako ngo batere igisagara, bakubaka n’inzitiro zo kugitera kugira ngo batikize abantu benshi. 18 Yasuzuguye indahiro, arenga no kw’isezerano. Naho yari yemeye kutabirengako*, yarakoze ivyo vyose kandi ntazorusimba.’”

19 “Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima, yuko nzozana ku gatwe kiwe ingaruka zo kuba yarasuzuguye indahiro namurahije+, akarenga no kw’isezerano ryanje. 20 Nzomutererako urusenga rwanje rw’uruhigi, rumucakire+. Nzomujana i Babiloni tuburanireyo kubera ko yampemukiye+. 21 Abazohunga mu ngabo ziwe bose bazokwicishwa inkota, abasigaye bashwiragizwe mu mpande zose*+. Muzoheza mumenye vy’ukuri yuko ari jewe Yehova ubwanje navuze+.’”

22 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzotora agatwetwe ko mu bushorishori bw’isederi ndende+, ndagatere. Kw’isonga ry’udushami twaryo nzokwahako agatwetwe koroshe+, jewe ubwanje ndagatere ku musozi muremure kandi utaramutse+. 23 Nzogatera ku musozi muremure wo muri Isirayeli. Amashami yako azokura, kame ivyamwa, gacike isederi ry’agatangaza. Inyoni z’ubwoko bwose zizokwibera munsi yaryo, zibere mu gitutu c’amababi yaryo. 24 Kandi ibiti vyose vyo mu gahinga bizomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nashize hasi igiti kirekire, ngashira hejuru igiti kigufi+. Numishije igiti kibisi, ntuma igiti cumye gishurika+. Jewe Yehova narabivuze kandi ndabikora.’”»

18 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mbega uyu mugani muca muri Isirayeli usobanura iki? Muvuga ngo: “Ba sebibondo barariye inzabibu zidahiye, mugabo amenyo y’abana aba ari yo ajiginyurwa+.”

3 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “ntimuzobandanya guca uwo mugani muri Isirayeli. 4 Raba! Abantu bose ni abanje. Sebibondo n’umwana, bose ni abanje. Umuntu* acumura ni we azopfa.

5 Dufate ko umuntu ari umugororotsi, akaba akora ibigororotse n’ibibereye. 6 Ntarira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana+. Ntahanga amaso ibigirwamana bisesemye* vy’Abisirayeli. Ntahumanya umugore wa mugenziwe+ canke ngo aryamane n’umugore ari mu butinyanka+. 7 Nta muntu afata nabi+, ahubwo asubiza uwumufitiye ideni ingwati yatanze+. Nta we yiba+, ahubwo agaburira uwushonje+, akambika agahuzu uwuri gusa+. 8 Iyo aguranye ntasaba inyungu canke ngo arondere kwunguka ivy’umurengera+, ahubwo yirinda kurenganya+. Aratunganiriza neza umuntu n’uwundi+. 9 Aguma akurikiza ivyagezwe vyanje, akubahiriza ingingo nashinze kugira agume ari umwizigirwa mu vyo akora. Umuntu nk’uyo ni umugororotsi kandi vy’ukuri azobandanya kubaho+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

10 “Ariko dufate ko avyaye umwana, akaba umusuma+ canke umwicanyi*+, canke akagira ikindi akora muri ibi bintu 11 (mugabo se ata na kimwe yakoze muri ivyo): uwo mwana arira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana, agahumanya umugore wa mugenziwe, 12 agafata nabi umugorwa n’umworo+, akiba, ntasubize icatanzwe nk’ingwati, agahanga amaso ibigirwamana bisesemye+, agakora ibintu bishisha+, 13 akarondera kwunguka ivy’umurengera kandi agasaba inyungu uwo aguranye+. Uwo mwana ntazoheza ngo abandanye kubaho. Azokwicwa ata kabuza kubera ivyo bintu vyose bishisha yakoze. Amaraso yiwe azoja ku gatwe kiwe.

14 Ariko dufate ko sebibondo afise umwana abona ibicumuro vyose se akora, mugabo naho abibona ntabikore. 15 Ntarira ku misozi ibimazi vyashikaniwe ibigirwamana. Ntahanga amaso ibigirwamana bisesemye vy’Abisirayeli. Ntahumanya umugore wa mugenziwe. 16 Nta muntu afata nabi. Ingwati yahawe ntayigumana. Ntiyiba. Agaburira uwushonje, akambika agahuzu uwuri gusa. 17 Ntacinyiza umworo. Ntarondera kwunguka ivy’umurengera canke ngo asabe inyungu uwo aguranye. Arubahiriza ingingo nashinze, agakurikiza ivyagezwe vyanje. Umuntu nk’uyo ntazopfa kubera ikosa rya se. Vy’ukuri azobandanya kubaho. 18 Mugabo se azopfa azize ikosa ryiwe kubera ko yakoze ivy’uruyeri, yiba mwenewabo, akora n’ikibi mu bantu b’iwabo.

19 Mugabo muzovuga muti: ‘Kubera iki umwana atabazwa ikosa rya se?’ Uwo mwana vy’ukuri azobandanya kubaho kubera ko yakoze ibigororotse n’ibibereye, agakurikiza ivyagezwe vyanje vyose, akavyubahiriza+. 20 Umuntu acumura ni we azopfa+. Umwana ntazobazwa ikosa rya se, na sebibondo ntazobazwa ikosa ry’umwana wiwe. Ubugororotsi bw’umugororotsi ni we wenyene buzoharurwako, n’ububisha bw’umubisha ni we wenyene buzoharurwako+.

21 Nayo umubisha niyaheba ibicumuro vyose akora, akubahiriza ivyagezwe vyanje, agakora ibigororotse n’ibibereye, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa+. 22 Nta gicumuro na kimwe yakoze kizomwagira*+. Azobandanya kubaho kubera akora ibigororotse+.”

23 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega mugira ngo ndahimbarwa na gato n’uko umubisha apfa+? Mugira sinshima ko yoheba ingeso ziwe akabandanya kubaho+?”

24 “Ariko umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi*, agakora ibintu vyose bishisha ababisha bakora, ugira ngo azobaho? Mu bikorwa vyose vy’ubugororotsi yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa+. Azopfa kubera ubuhemu bwiwe no kubera igicumuro yakoze+.

25 Mugabo muzovuga ngo: ‘Inzira ya Yehova ntigororotse+.’ Enda nimwumve yemwe Bisirayeli! Mbega inzira yanje ni yo itagororotse+? Canke inzira zanyu ni zo zitagororotse+?

26 Umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse, agakora ibibi bigatuma apfa, azoba apfuye kubera ibibi yakoze.

27 Umubisha niyaheba ibintu vy’ububisha akora, agatangura gukora ibigororotse n’ibibereye, azokiza ubuzima bwiwe+. 28 Niyabona ibicumuro vyose yakoze maze akabiheba, vy’ukuri azobandanya kubaho. Ntazopfa.

29 Mugabo Abisirayeli bazovuga ngo: ‘Inzira ya Yehova ntigororotse.’ Mbega vy’ukuri inzira zanje ni zo zitagororotse ga yemwe Bisirayeli+? Canke inzira zanyu ni zo zitagororotse?”

30 “Ku bw’ivyo rero yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze ivyo akora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimuhebe, ni ukuri nimuhebe rwose ibicumuro vyose mukora, kugira ntibibabere igitsitaza gituma mwagirwa n’icaha. 31 Nimute kure ibicumuro vyose mukora+, muhindure umutima wanyu n’ukuntu mwiyumvira*+. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa+ ga yemwe Bisirayeli?”

32 “Simpimbarwa na gato n’uko hagira umuntu apfa+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimwigarure rero mubone kubaho+.”»

19 «Ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye abakuru bo muri Isirayeli, 2 uvuge uti:

“Nyoko wawe yari ameze gute? Yari ameze nk’intambwe y’ingore mu ntambwe.

Yiryamira hagati mu ntambwe z’imikangara zikomeye*, akarera ivyana vyiwe.

 3 Yarareze kimwe mu vyana vyiwe kiba intambwe y’umukangara ikomeye+.

Carize gutabagura ico cacakiye,

kirya n’abantu.

 4 Amahanga yarumvise ivyaco maze agifatira mu cobo cayo,

akijana mu gihugu ca Misiri akoresheje ingobe*+.

 5 Nyina yararindiriye ko kigaruka arahebura.

Maze atora ikindi cana ciwe, akigira intambwe y’umukangara ikomeye.

 6 Na co nyene caragendagenze hagati mu ntambwe, kiba intambwe y’umukangara ikomeye.

Carize gutabagura ico cacakiye, kirya n’abantu+.

 7 Caranyuragiye mu minara yabo ikomeye, gitikiza ibisagara vyabo,

ku buryo urwamo rw’ukuroha kwaco+ rusamirana mu gihugu cari gisigaye ari umusaka.

 8 Amahanga yo mu ntara zo mu micungararo yaraje kugitererako urusenga rwayo

maze gifatirwa mu cobo cayo.

 9 Bagishira mu kazu bakoresheje ingobe, bakijana ku mwami wa Babiloni.

Bacugaranirayo kugira ngo urwamo rwaco ntirwongere kwumvikana ku misozi yo muri Isirayeli.

10 Nyoko wawe yari nk’umuzabibu*+ utewe iruhande y’amazi.

Amazi menshi yatumye uwo muzabibu wama ivyamwa, wuzura n’amashami.

11 Waragize amashami* akomeye yovamwo udukoni tw’abatware.

Warakuze uba muremure gusumba ibindi biti,

uribonekeza kubera uburebure bwawo no kubera amababi yawo menshi.

12 Mugabo uwo muzabibu waranduranywe uburake+, utererwa hasi,

maze umuyaga wo mu buseruko wumisha ivyamwa vyawo.

Amashami yawo akomeye yarahanyuwe, aruma+, umuriro urayaturira+.

13 Ubu utewe mu gahinga,

mu gihugu kitagira amazi kandi kigadutse+.

14 Umuriro wavuye ku mashami* yawo, uturira udushami twawo n’ivyamwa vyawo.

Nta shami rikomeye ryasigaye canke agakoni k’umutware+.

Ako ni akaririmbo k’intimba, kandi bazogakoresha mu gucura intimba.”»

20 Nuko mu mwaka ugira indwi, mu kwezi kwa gatanu, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, abashingantahe bamwe bo muri Isirayeli baraza bicara imbere yanje, kugira bahanuze Yehova. 2 Maze Yehova ambwira ati: 3 «Mwana w’umuntu, vugana n’abashingantahe bo muri Isirayeli, ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Mbega muzanywe no kumpanuza? Jewe Umukama Segaba Yehova mvuze nti: “Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ata co ndabishura ku vyo muje kumpanuza+.”’”

4 Mbega uriteguriye kubacira urubanza*? Uriteguriye kubacira urubanza, ga mwana w’umuntu? Bamenyeshe ibintu bishisha ba sekuruza bakoze+. 5 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umusi natora Isirayeli+, nararahiye* n’uruvyaro* rwa Yakobo, ndimenyekanisha kuri bo mu gihugu ca Misiri+. Egome, narabarahiye mvuga nti: “Ndi Yehova Imana yanyu.” 6 Uwo musi nararahiye yuko nzobakura mu gihugu ca Misiri, nkabajana mu gihugu nari narabarondereye*, igihugu gitemba amata n’ubuki+. Cari ciza kuruta ibindi bihugu vyose*. 7 Naciye ndababwira nti: “Umwe wese muri mwebwe nate kure ibintu bishisha ahanga amaso. Ntimwihumanishe ibigirwamana bisesemye* vyo mu Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu+.”

8 Mugabo barangararije, banka kunyumviriza. Ntibatereye kure ibintu bishisha bahanga amaso, kandi ntibahevye ibigirwamana bisesemye vyo mu Misiri+. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje, nkabarekurirako ishavu ryanje ryose mu gihugu ca Misiri. 9 Mugabo nagize ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe imbere y’amahanga bari babayemwo+, kuko nimenyekanishije kuri bo* imbere y’ayo mahanga igihe nabakura* mu gihugu ca Misiri+. 10 Narabakuye rero mu gihugu ca Misiri, ndabajana mu bugaragwa+.

11 Naciye ndabaha ivyagezwe vyanje, ndabamenyesha n’ingingo nashinze+, kugira ngo uwuzikurikiza ashobore kubaho kubera zo+. 12 Narabahaye n’amasabato yanje+ ngo abe ikimenyetso hagati yanje na bo+, kugira ngo bamenye yuko ari jewe Yehova ndiko ndabeza.

13 Ariko Abisirayeli barangararije mu bugaragwa+. Ntibakurikije ivyagezwe vyanje, kandi barateye akagere ingingo nashinze, zimwe zituma uwuzikurikiza abaho. Barahumanije cane amasabato yanje. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje mu bugaragwa kugira ngo ndabahonye+. 14 Nagize ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe imbere y’amahanga yabonye ingene nabakuye* mu Misiri+. 15 Aho mu bugaragwa narabarahiye kandi ko ntazobajana mu gihugu nari nabahaye+, igihugu gitemba amata n’ubuki+, ciza kuruta ibindi bihugu vyose*. 16 Nabigize kubera ko bateye akagere ingingo nashinze, ntibakurikiza ivyagezwe vyanje, bahumanya n’amasabato yanje, kuko umutima wabo wakurikira ibigirwamana vyabo bisesemye+.

17 Mugabo narabumviye* akagongwe sinabatikiza. Sinabahonereje mu bugaragwa. 18 Nabwiye abana babo mu bugaragwa+ nti: “Ntimukurikize amategeko ya ba sogokuruza banyu+ canke ngo mwubahirize ingingo bashinze, canke ngo mwihumanishe ibigirwamana vyabo bisesemye. 19 Ndi Yehova Imana yanyu. Nimukurikize ivyagezwe vyanje, mwubahirize ingingo nashinze, muzisunge+. 20 Amasabato yanje mukwiye kubona ko ari meranda+. Azoba ikimenyetso hagati yanje namwe, kugira ngo mumenye yuko ndi Yehova Imana yanyu+.”

21 Ariko abo bana baciye batangura kungarariza+. Ntibakurikije ivyagezwe vyanje, kandi ntibubahirije ingingo nashinze ngo bazisunge, zimwe zituma uwuzikurikiza abaho. Barahumanije amasabato yanje. Naciye rero nsezerana ko nzobasukako uburake bwanje, nkabarekurirako ishavu ryanje ryose mu bugaragwa+. 22 Mugabo narigumije+, ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje+, kugira ngo ntirihumanywe imbere y’amahanga yabonye ingene nabakuye* mu Misiri. 23 Vyongeye, narabarahiye mu bugaragwa yuko nzobasanzaza mu mahanga, nkabashwiragiza mu bihugu+, 24 kuko batisunze ingingo nashinze, batera akagere ivyagezwe vyanje+, bahumanya amasabato yanje, bakurikira* ibigirwamana bisesemye vya ba sekuruza babo+. 25 Vyongeye, narabaretse bakurikira amategeko atari meza n’ingingo zitashobora gutuma babaho+. 26 Narabaretse barahumanywa n’ibimazi vyabo igihe umwana wese w’imfura bamuturira+. Nabigize kugira ngo ntume basigara bifumbereje, baheze bamenye yuko ndi Yehova.’”

27 Mwana w’umuntu, bwira rero Abisirayeli uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘No muri ubwo buryo, ba sogokuruza banyu baransuzuguye* mu kumpemukira. 28 Nabajanye mu gihugu nari nararahiye ko nzobaha+. Aho baboneye imirambi yose miremire n’ibiti vyose bitotahaye+, baciye batangura gushikana ibimazi vyabo n’amashikanwa yabo ambabaza. Barahashikaniye ibimazi vyabo nk’akamoto keza*, bahasuka n’amashikanwa yabo y’ibinyobwa. 29 Naciye ndababaza nti: “Ico kibanza gitaramutse ni ic’iki? (Kiracitwa ikibanza gitaramutse gushika n’uyu musi+.)”’”

30 Bwira rero Abisirayeli uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Mbega muriko mwihumanya nk’uko ba sogokuruza banyu babigize, mu gukurikira ibigirwamana vyabo bisesemye, bakampemukira* mu kubisenga+? 31 Gushika n’uyu musi muracabandanya kwihumanya mu gushikanira ibimazi ibigirwamana vyanyu vyose bisesemye, mugaturira abana banyu+. Hanyuma ngo ndabishure ku vyo mumpanuza ga yemwe Bisirayeli+?’”

Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ata co ndabishura ku vyo mumpanuza+. 32 Muvuga ngo: ‘Tube nk’abo mu mahanga, nk’abo mu miryango yo mu bindi bihugu basenga* ibiti n’amabuye+.’ Ivyo mwiyumvira* igihe muvuga gutyo, ntibizokwigera biba.”»

33 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima yuko nzobaganza nkoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha*, ndabasukeko n’uburake bwanje+. 34 Nzobakura mu mahanga, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo, nkoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha*, ndabasukeko n’uburake bwanje+. 35 Nzobajana mu bugaragwa bw’amahanga. Aho ni ho nzobaburaniriza amaso mu yandi+.”

36 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nk’uko naburanije ba sogokuruza banyu mu bugaragwa bw’igihugu ca Misiri, ni ko namwe nzobaburanya. 37 Nzobacisha munsi y’inkoni y’umwungere+, ntume mwubahiriza isezerano*. 38 Mugabo nzokuraho abagarariji bari muri mwebwe n’abancumurako+. Nzobakura mu gihugu babamwo ari abanyamahanga, mugabo ntibazokwinjira mu gihugu ca Isirayeli+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

39 Nayo ku bijanye namwe ga Bisirayeli, Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umwe wese muri mwebwe nagende akorere ibigirwamana vyiwe bisesemye+. Mugabo mu nyuma nimutanyumviriza, ntibizokunda ko mwongera guhumanya izina ryanje ryeranda biciye ku bimazi vyanyu no ku bigirwamana vyanyu bisesemye+.”

40 “Kuko ku musozi wanje mweranda, ku musozi muremure wo muri Isirayeli+, ari ho mwese Abisirayeli uko mungana muzonkorera muri muri ico gihugu+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Muzompimbara muri ng’aho, kandi nzobasaba intererano zanyu n’amashikanwa yanyu meza kuruta ayandi, ibintu vyanyu vyeranda vyose+. 41 Ninabakura mu mahanga, nkabakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu mwasanzarijwemwo+, muzompimbara kubera akamoto keza*, kandi nzoboneka ko ndi mweranda hagati muri mwebwe imbere y’amahanga+.”

42 “Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+, ninabajana mu gihugu ca Isirayeli+, mu gihugu narahiye ko nzoha ba sogokuruza banyu. 43 Mugezeyo muzokwibuka ingeso zanyu n’ibintu vyose mwakoze mukihumanya+. Muzokwumva mwiyanse cane* kubera ibintu bibi vyose mwakoze+. 44 Muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova, ninagira ico ndabakoreye ku bw’izina ryanje+. Sinzobakorera ibihwanye n’ingeso zanyu mbi canke ibikorwa vyanyu bihumanye, yemwe Bisirayeli”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

45 Maze Yehova yongera kumbwira ati: 46 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe mu karere ko mu bumanuko, ubwire ubumanuko, ubwire ubuhanuzi ikibira co mu gahinga ko mu bumanuko. 47 Bwira ikibira co mu bumanuko uti: “Niwumve ijambo rya Yehova. Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ehe ngira ndomeke umuriro ukwereke+, uturire uherengeteze igiti cose kibisi n’igiti cose cumye kiri iwawe. Urubeya rururumba ntiruzozima+, kandi ruzobabura mu maso h’abantu bose, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko. 48 Abantu bose* bazobona yuko jewe Yehova nagihaye umuriro, ku buryo utazozima+.’”»

49 Maze mvuga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Bamvuga ngo: “Uyo avugira mu migani* gusa.”»

21 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe i Yeruzalemu, uvuge amajambo yagiriza ibibanza vyeranda, uvuge ubuhanuzi bw’ibizoshikira igihugu ca Isirayeli. 3 Bwira igihugu ca Isirayeli uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe ngira nkurwanye, kandi nzosokora inkota yanje mu rwubati*+, ndandure iwawe umugororotsi n’umubisha. 4 Kubera ko nzorandura iwawe umugororotsi n’umubisha, inkota yanje izosokorwa mu rwubati kugira yice abantu bose*, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko. 5 Abantu bose bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nasokoye inkota yanje mu rwubati. Ntizosubirayo+.’”

6 Nayo wewe ga mwana w’umuntu, nunihagire ujugumira*, emwe unihagire n’intuntu nyinshi imbere yabo+. 7 Nibakubaza ngo: “Unihishwa n’iki?”, ubabwire uti: “Nihishwa n’inkuru y’ibigira bibe.” Bizoza ata kabuza kandi imitima yose izoshongeshwa n’ubwoba, amaboko yose aregere, abantu bose bajonjogore, n’amavi yose atembe amazi*+. “Raba! Ivyo bintu bizoza ata kabuza, bishike”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

8 Yehova yongera kumbwira ati: 9 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Inkota! Inkota+ irakarihijwe kandi irasenywe. 10 Yakarihijwe kugira itikize inganda bimwe bikomeye, irasenwa ngo yakake nk’imiravyo.’”»

«Ntidukwiye none kunezerwa?»

«“Mbega izokwanka* agakoni k’ubwami k’umwana wanje+, nk’uko yanka ibiti vyose?

11 Nayitanze ngo isenwe yongere ikoreshwe. Iyo nkota yarakarihijwe irasenwa kugira ngo ihabwe uwujejwe kwica+.

12 Semerera uboroge+ mwana w’umuntu, kuko iyo nkota ije kwica abantu banje. Ije kwica abakuru bo muri Isirayeli bose+. Iyo nkota izobica, yice n’abantu banje. Niwikubite rero kw’itako kubera intuntu. 13 Kuko hagizwe isuzuma+. None bizogenda gute iyo nkota niyanka agakoni k’ubwami? Ntikazobandanya kubaho+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

14 Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi, ukubite amashi ku yandi, usubiremwo incuro zitatu ngo “Inkota!” Bakikujwe n’inkota y’abishwe, inkota yo gutikiza inganda bimwe bikomeye+. 15 Imitima yabo izoshongeshwa n’ubwoba+ kandi benshi bazogwa ku marembo y’ibisagara vyabo. Nzotuma inkota itikiza inganda. Emwe, yakaka nk’imiravyo kandi yasenywe kugira ngo itikize inganda! 16 Wa nkota we, tema iburyo! Kubita ibubamfu! Ja iyo ubugi bwawe butumbereye hose! 17 Nanje nzokubita amashi ku yandi, ntururuze uburake bwanje+. Jewe Yehova, ndavuze.»

18 Yehova yongera kumbwira ati: 19 «Nayo wewe ga mwana w’umuntu, tegura inzira zibiri kugira ngo inkota y’umwami wa Babiloni ize. Zompi zikwiye kuva mu gihugu kimwe. Aho ibarabara rishamikira rija kuri vya bisagara bibiri hakwiye gushirwa icapa*. 20 Ukwiye gutegura inzira kugira ngo inkota ize gutera i Raba+ h’Abamoni, n’iyindi nzira yo gutera i Yeruzalemu, igisagara gikingijwe ibihome+ co mu Buyuda. 21 Kuko umwami wa Babiloni ahagarara ku masanganzira, aho rya barabara rishamika rikavamwo abiri, kugira ngo aragure. Arazungagiza imyampi, akitura ibigirwamana vyiwe*, agasuzuma igitigu. 22 Ibintu akoresha mu kuragura afise mu kuryo kwiwe vyerekana Yeruzalemu, kugira ngo hashirweho ibigiga vyo kuhasenyura, hatangwe itegeko ryo gutikiza inganda, havuzwe akaruru k’intambara, hashirweho ibigiga vyo gusenyura amarembo, harundwe ibintu vyo kwuririrako ngo bahatere, hubakwe n’uruzitiro rwo kuhatera+. 23 Abari barabarahiye* bazobona umengo ni indagu y’ububeshi+. Mugabo aribuka ikosa ryabo kandi azobafata+.

24 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Mwatumye ivyaha vyanyu vyibukwa kubera ko mwashize ahabona amakosa yanyu, mutuma ibicumuro vyanyu bibonekera mu vyo mukora vyose. Ko mwibutswe rero, muzotwarwa ku nguvu*.”

25 Nayo wewe ga mukuru wa Isirayeli w’umubisha+, wewe wakomerekejwe bimwe vyo gupfa, umusi wawe washitse, umusi w’igihano cawe ca nyuma. 26 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ambura igitambara bazingira mu mutwe, ukure urugori+. Ntibizoguma kwa kundi+. Shira hejuru uwuri hasi+, ushire hasi uwuri hejuru+. 27 Nzorugira umusaka, umusaka, umusaka. Nta we ruzokwegukira gushika haje uwubifitiye uburenganzira ahabwa n’amategeko+, kandi nzorumuha+.”

28 Nawe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku bijanye n’Abamoni n’ibitutsi vyabo.” Uvuge uti: “Inkota! Inkota yasokorewe gutikiza inganda. Yasenewe gutikiza no kwakaka nk’imiravyo. 29 Naho abantu beretswe ibinyoma ku bikwerekeye*, bakakuragurira ivy’ububeshi, ibiziga vy’abantu bawe bizorundwa ku bishwe*, abantu b’ababisha. Umusi wabo washitse, igihe c’uko bahabwa igihano cabo ca nyuma. 30 Nusubize inkota mu rwubati. Nzogucira urubanza mu kibanza waremewemwo, mu gihugu ukomokamwo. 31 Nzogusukako ishavu ryanje. Nzoguhuhirako umuriro w’uburake bwanje, ndagute mu maboko y’abantu b’inkazi, abahinga mu guhonya+. 32 Uzosha nka kurya kw’inkwi+. Amaraso yawe azoseswa mu gihugu kandi ntuzosubira kwibukwa, kuko jewe Yehova mvuze.”»

22 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, mbega uriteguriye kumenyesha urubanza rwaciriwe* ca gisagara cagirwa n’amaraso+, no kukimenyesha ibintu vyaco vyose bishisha+? 3 Uvuge uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ewe wa gisagara gisesa amaraso+ hagati muri co, wewe ugira ushikirwe n’igihe cawe+, wewe ukora ibigirwamana bisesemye* kugira ngo wihumanye+. 4 Amaraso washeshe yatumye wagirwa n’ikosa+, kandi ibigirwamana vyawe bisesemye vyaraguhumanije+. Watumye imisi yawe inyaruka guhera, kandi iherezo ry’imyaka yawe rirashitse. Ni co gituma nzotuma ucokorwa n’amahanga, ube akamenyo ku bihugu vyose+. 5 Ibihugu biri hafi yawe n’ibiri kure yawe bizogutwengera mw’ijigo+, wewe ufise izina rihumanye ukaba wuzuyemwo umuvurungano. 6 Raba! Umwe wese mu bakuru bo muri Isirayeli bari iwawe, akoresha ubukuru bwiwe kugira asese amaraso+. 7 Iwawe barakengera ba se na ba nyina+. Barazuruma* abanyamahanga, bagafata nabi impfuvyi* n’abapfakazi+.’”»

8 «“Urasuzugura ibibanza vyanje vyeranda, ugahumanya amasabato yanje+. 9 Iwawe hari abantu babeshera abandi biyemeje gusesa amaraso+. Iwawe hari abarira ibimazi ku misozi, hakaba n’abigenza mu buryo buteye isoni+. 10 Iwawe barahumanya uburiri bwa ba se*+, bagafata ku nguvu umugore ahumanye kubera ubutinyanka+. 11 Iwawe umugabo akorana ibintu bishisha n’umugore wa mugenziwe+, uwundi agahumanya umukazana wiwe mu gukora ibiteye isoni+, uwundi na we agafata ku nguvu mushikiwe, umukobwa wa se+. 12 Iwawe barakira igiturire kugira ngo basese amaraso+. Iyo uguranye, usaba inyungu+ canke ukariramwo mbege*, kandi wiba amahera bagenzawe+. Emwe, waranyibagiye uraherezako”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

13 “Ehe nkubise amashi ku yandi nashishwe kubera inyungu mbi wungutse, no kubera ibikorwa vy’ugusesa amaraso bikorerwa iwawe. 14 Mbega igihe nzoguhagurukira, uzogumana umutima rugabo*, n’amaboko yawe agume akomeye+? Jewe Yehova navuze, kandi nzogira ico nkoze. 15 Nzogusanzaza mu mahanga, ndagushwiragize mu bihugu+, kandi nzokuraho ubuhumane bwawe+. 16 Uzoteterezwa imbere y’amahanga, kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»

17 Yehova yongera kumbwira ati: 18 «Mwana w’umuntu, kuri jewe Abisirayeli basigaye ata co bamaze nk’ubucafu*. Bose ni umujumpu, ubutare bw’ibati, ubw’icuma n’ubw’isasu hagati mw’ifuru. Basigaye ari ubucafu buva kw’ifeza+.

19 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko mwese musigaye ata co mumaze nk’ubucafu+, ngira ndabegeranirize hamwe i Yeruzalemu. 20 Nka kurya nyene ifeza, umujumpu, ubutare bw’icuma, ubw’isasu n’ubw’ibati vyegeranirizwa mw’ifuru kugira bahuhe umuriro ngo biyage, ni ko nzobegeraniriza hamwe nashavuye kandi naratse, kandi nzohuha umuriro ndabayaze+. 21 Nzobakoranya, ndabahuhe mfise uburake bwaka umuriro+, muyagirizwe muri ico gisagara+. 22 Nk’uko ifeza iyagirizwa mw’ifuru, ni ko muzoyagirizwa muri co, kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nabasutseko uburake bwanje.”»

23 Yehova yongera kumbwira ati: 24 «Mwana w’umuntu, bwira igihugu uti: “Uri igihugu kitazohumanurwa canke ngo kironke imvura ku musi w’ishavu ryanje. 25 Abahanuzi bo muri co bateguriyeyo umugambi wo kugira nabi+, nk’intambwe iroha, itabagura ico icakiye+. Bararotsa abantu. Baratwara amatunga y’abantu n’ibintu vy’agaciro. Baragwije abapfakazi muri co. 26 Abaherezi bo muri co bararenze ku mategeko yanje+, kandi baguma bahumanya ibibanza vyanje vyeranda+. Ntibatandukanya ikintu ceranda n’igisanzwe+, kandi ntibafasha abantu kumenya igihumanye n’ikidahumanye+. Baranka kwubahiriza amasabato yanje. Barampumanije. 27 Abatware baho bameze nk’amabingira atabagura ico acakiye. Barasesa amaraso, bakica abantu kugira bironkere inyungu mbi+. 28 Mugabo abahanuzi baho bapfukapfutse ivyo abo bantu bakora, nk’uwusiga ishwagara. Berekwa ibinyoma, bakaragura ivy’ububeshi+. Bavuga ngo: ‘Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku’, kandi Yehova ubwiwe ata co yavuze. 29 Abantu baba mu gihugu barazurumye abandi bongera bariba+, bafata nabi abagorwa n’aboro, bazuruma abanyamahanga, banka kubatunganiriza.”

30 “Nararondeye muri bo uwosanasana uruzitiro rw’amabuye canke agahagarara aho rwasenyutse ari imbere yanje ku neza y’igihugu kugira ngo sindagihonye+, ariko nta n’umwe naronse. 31 Nzobasukako rero ishavu ryanje, ndabatikize mfise uburake bwaka umuriro. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

23 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, harabaye abagore babiri, abakobwa basangiye nyina+. 3 Babaye abamaraya mu Misiri+. Bakoze ubumaraya kuva bakiri bato. Aho ni ho abantu bakorakoreye amabere yabo, bagakuyakuya n’ibikiriza vyo mu busugi bwabo. 4 Umukuru yitwa Ohola*, mwenewabo akitwa Oholiba*. Babaye abanje maze bibaruka abahungu n’abakobwa. Uwitwa Ohola ni Samariya+, uwitwa Oholiba na we ni Yeruzalemu.

5 Ohola atangura gukora ubumaraya+, kandi yari uwanje. Yaripfuza rwose abamukunda cane*+, ni ukuvuga ababanyi biwe b’Abashuri+. 6 Bari ba buramatari bambara impuzu z’ubururu n’abatware bo hasi, bose bakaba bari abasore bezabeza bagendera ku mafarasi. 7 Abandanya gukorana ubumaraya n’Abashuri bakomakomeye bose, yihumanisha+ ibigirwamana bisesemye* vy’abo yipfuza cane. 8 Ntiyahevye ubumaraya yakora mu Misiri, kuko bari bararyamanye na we mu buto bwiwe, bakuyakuya igikiriza co mu busugi bwiwe, bamusukako inambu* yabo+. 9 Naciye rero ndamuta mu maboko y’abamukunda cane, ni ukuvuga Abashuri+, bamwe yipfuza cane. 10 Barashize ahabona ubwambure bwiwe+, batwara abahungu biwe n’abakobwa biwe+, na we bamwicisha inkota. Arahava agira izina ribi mu bandi bagore, bamushitsako urubanza namuciriye.

11 Mwenewabo Oholiba ngo abibone, inambu yiwe iba mbi kuruta, akora ubumaraya kuruta mwenewabo+. 12 Yipfuza cane ababanyi biwe b’Abashuri+, ba buramatari n’abatware bo hasi bambara impuzu nzizanziza, bakagendera no ku mafarasi. Bose bari abasore bezabeza. 13 Igihe yihumanya, nabonye ko bompi bafashe ingendo imwe+. 14 Mugabo wewe, yaguma yongereza ubumaraya bwiwe. Yarabonye amashusho y’abagabo ashushanijwe* ku ruhome, amashusho y’Abakaludaya ashushanijwe mw’ibara ritukura, 15 bambaye imikaba mu kiyunguyungu n’ibitambara vyo ku mutwe birekera, basa n’abarwanyi. Ayo mashusho yose yerekana Abanyababiloni bavukiye mu gihugu c’Abakaludaya. 16 Amaze kubona amashusho yabo, atangura kubipfuza cane, araheza abatumako intumwa mu Bukaludaya+. 17 Nuko Abanyababiloni baguma baza iwe ku gitanda yasambanirako, bamuhumanisha inambu* yabo. Bamaze kumuhumanya, yaciye abazinukwa arabaheba.

18 Kubera ko yabandanije akora ubumaraya ata co yibanga, agashira ahabona ubwambure bwiwe+, naciye ndamuzinukwa ndamuheba nk’uko nari nazinutswe mwenewabo nkamuheba+. 19 Yagumye agwiza ubumaraya bwiwe+, yibuka imisi yo mu buto bwiwe, aho yakora ubumaraya mu gihugu ca Misiri+. 20 Yarabipfuza cane nka kurya kw’incoreke zifise abagabo bafise igihimba c’irondoka nk’ic’indogobwa canke ifarasi. 21 Warakumbura cane ubushirasoni wakorera mu Misiri+ mu buto bwawe, igihe bakuyakuya igikiriza cawe, bagakuyakuya amabere yo mu buto bwawe+.

22 Ku bw’ivyo rero ga Oholiba, ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ba bakunzi bawe+, bamwe wazinukwa ugaheba, ngira ndabagushuhurireko. Ngira ndabazane bagutere bavuye impande zose+: 23 Abanyababiloni+ n’Abakaludaya bose+, abagabo b’i Pekodi+, i Showa n’i Kowa hamwe n’Abashuri bose. Bose ni abasore bezabeza, ba buramatari n’abatware bo hasi, abarwanyi n’abacaguwe mu bandi*, bose bakaba bagendera ku mafarasi. 24 Bazoza kugutera bari mu mikogote y’intambara ihinda ifise amapine, bazananye n’isinzi rinini ry’ingabo, bafise inkinzo zagutse n’inkinzo ntonto* be n’inkofero. Bazokwipanga irya n’ino yawe. Nzobareka bagucire urubanza, bagucire urwo bagomba+. 25 Nzokwereka ishavu ndagufitiye, kandi bazokurwanya baratse. Bazoguca izuru n’amatwi, abasigaye mu bawe bicishwe inkota. Bazotwara abahungu bawe n’abakobwa bawe, abasigaye mu bawe baturirwe+. 26 Bazokwambura impuzu+, batware n’udusharizo twawe twiza+. 27 Nzohagarika ubushirasoni bwawe n’ubumaraya bwawe+ watanguriye mu gihugu ca Misiri. Ntuzosubira kubaraba, kandi ntuzokwongera kwibuka Misiri+.”

28 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe ngira ngute mu maboko y’abo wanka, bamwe wazinukwa ukabaheba+. 29 Bazoguhagurukira buzuye urwanko, batware ivyo wabiriye akuya vyose+, bagusige uri amenya, uri gusa. Ubwambure buteye isoni werekana igihe ukora ubusambanyi, n’ubushirasoni bwawe n’ubumaraya bwawe bizoshirwa ahabona+. 30 Uzokorerwa ivyo bintu kubera yuko wirutse inyuma y’amahanga nk’umumaraya+, kubera ko wihumanishije ibigirwamana vyayo bisesemye+. 31 Wiganye ingendo ya mwenewanyu+. Nanje rero nzoshira igikombe ciwe mu kuboko kwawe+.”

32 Umukama Segaba Yehova avuze ati:

“Uzonywa igikombe ca mwenewanyu, kimwe kirekire kandi cagutse+.

Uzocika agatwengo n’agashinyaguro, kuko muri ico gikombe hariyo vyinshi+.

33 Uzonywa igikombe ca mwenewanyu Samariya ucimariremwo,

uborerwe*, wuzure intuntu,

ucike akajoreza n’umusaka.

34 Uzobwirizwa kukinywa, ucirangūze+, uhekenye n’injo zaco

maze wimomore amabere,

‘kuko ari jewe ndabivuze’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”

35 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko wanyibagiye ukanyirengagiza rwose*+, uzoshikirwa n’ingaruka z’ubushirasoni bwawe n’ubumaraya bwawe.”»

36 Maze Yehova ambwira ati: «Mwana w’umuntu, mbega uriteguriye kumenyesha Ohola na Oholiba+ urubanza nabaciriye, no kubabwira imbonankubone ibintu bishisha bakora? 37 Bararenze ibigo*+, kandi amaboko yabo ariko amaraso basheshe. Uretse ko barenze ibigo mu gusenga ibigirwamana vyabo bisesemye, baranafashe abana babo bamvyariye barabaturira ngo babe imfungurwa z’ibigirwamana vyabo+. 38 Vyongeye, ehe ivyo bankoreye: banduje ahantu hanje heranda kuri uwo musi, bahumanya amasabato yanje. 39 Bamaze kwica abana babo bakabashikanira ibigirwamana vyabo bisesemye+, baca baza ahantu hanje heranda kuri uwo musi nyene kugira ngo bahanduze+. Ivyo ni vyo bakoreye mu nzu yanje. 40 Baranarungitse intumwa ngo izane abagabo bavuye kure+. Bariko baraza, waciye wiyoga, wisiga amarangi ku maso, wambara n’udusharizo+. 41 Uraheza wicara ku ntebe nziza cane imeze nk’uburiri+, imbere yayo hari imeza+. Kuri iyo meza wahashize imibavu yanje+ n’amavuta yanje+. 42 Harumvikana urwamo rw’isinzi ry’abagabo ata co binona, muri bo hakaba harimwo imborerwa zavuye mu bugaragwa. Barambika abo bagore babiri ibikomo ku maboko n’ingori nziza ku mutwe.

43 Maze ku bijanye n’uwo yari asigaye ari akaheze kubera ukurenga ibigo, mvuga nti: “N’uwo azoguma akora ubumaraya bwiwe.” 44 Babandanije rero kuja iwe nk’uko umuntu aja ku mumaraya. Ukwo ni ko bagiye kwa Ohola no kwa Oholiba, ba bagore b’inshirasoni. 45 Ariko abagabo b’abagororotsi bazomucira urubanza rukwiriye abarenga ibigo+ n’abasesa amaraso+, kuko abo bagore barenga ibigo kandi ku maboko yabo hakaba hari amaraso basheshe+.

46 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Hazoza ingabo zo kubatera, zitume bacika akajoreza n’abo gusahurwa+. 47 Izo ngabo zizobatera amabuye+, zibatemaguze inkota. Zizokwica abahungu babo n’abakobwa babo+, ziturire n’inzu zabo+. 48 Nzokuraho ubushirasoni mu gihugu, kandi abagore bose bazohakura icigwa ku buryo batazokwigana ubushirasoni bwanyu+. 49 Bazotuma mushikirwa n’ingaruka z’ubushirasoni bwanyu n’iz’ibicumuro mwakoze mu gusenga ibigirwamana vyanyu bisesemye. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova+.”»

24 Mu mwaka ugira icenda, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, andika iyi tariki*, itariki y’uyu musi. Umwami wa Babiloni yatanguye gutera Yeruzalemu uyu musi nyene+. 3 Cira umugani* iri hanga ry’abagarariji, uvuge ku biberekeye uti:

“Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Shira ya nkono* ku ziko. Yishireko, uyisukemwo n’amazi+.

 4 Yishiremwo ibipande vy’inyama+, ibipande vyose vyiza,

itako n’urutugu. Yuzuze amagufa mezameza.

 5 Tora intama nziza kuruta izindi zo mu busho+, kandi irya n’ino munsi ya nya nkono urundeyo ingegene z’inkwi.

Togotesha ivyo bipande, uteke n’ayo magufa ari muri iyo nkono.’”

6 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati:

“Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso+, ya nkono yaguye ingese, ingese zayo zikaba zitayikuweko!

Kurayo kimwekimwe mu bipande biriyo+, utarobanuye*.

 7 Kuko amaraso casheshe ari muri co+. Cayasutse ku rutare rugaragara.

Nticayasutse hasi ngo arenzweko ivu+.

 8 Kugira ngo mvyure uburake bwo kucihora,

amaraso casheshe nayashize ku rutare rukayangana kandi rugaragara,

ngo ntapfukwe+.”

9 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati:

“Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso+!

Nzorunda ikirundo kinini c’inkwi.

10 Runda ingegene z’inkwi, ucane umuriro.

Togotesha inyama zishe cane. Suka umufa, amagufa uyareke azigire.

11 Tereka iyo nkono igaragara ku muriro* ishuhe

kugira ngo umujumpu wayo ushuhe utukurire.

Ubuhumane bwayo buzoyagira muri yo+, n’ingese zayo zitokombere.

12 Biraca intege kandi bikaruhisha,

kuko ingese nyinshi ifise zitavako+.

Yiterere mu muriro n’ingese zayo!”

13 “Wahumanye kubera ubushirasoni bwawe+. Nta ko ntagize ngo ndaguhumanure, mugabo vyaranse ko uhumanuka. Ntuzogenda uhumanutse gushika uburake ndagufitiye buhwamye+. 14 Jewe Yehova ndavuze. Ivyo bizoba. Nzogira ico nkoze ata kugonanwa, ata kinya, ata kwicuza+. Uzocirwa urubanza ruhwanye n’ingeso zawe be n’ivyo ukora”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

15 Yehova yongera kumbwira ati: 16 «Mwana w’umuntu, ngira nkwake giturumbuka umwe ukunda cane+. Ntuze ugandare* canke ngo urire, canke ngo ukorore amosozi. 17 Uze unihe udakurako umunwa, kandi ntuze ugire imigenzo yo kugandarira abapfuye+. Uze upfunge igitambara bazingira mu mutwe+ wambare n’ibirato*+. Ntuze upfuke ubwanwa bwo haruguru+, kandi ntuze urye ivyo bakuzaniye*+.»

18 Nuko mu gitondo ndabibwira abantu maze ku mugoroba umugore wanje arapfa. Bukeye mu gitondo nkora ivyo nari nategetswe. 19 Abantu baguma bambaza bati: «Mbega ivyo bintu uriko urakora ntiwotubwira ingene bituraba?» 20 Nanje ndabishura nti: «Yehova yambwiye ati: 21 “Bwira Abisirayeli uti: ‘Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngira mpumanye ahantu hanje heranda+ mwishimira cane, ahantu mukunda cane kandi umutima wanyu wipfuza*. Abahungu banyu n’abakobwa banyu mwasize inyuma bazokwicishwa inkota+. 22 Ico gihe namwe muzobwirizwa kugira nk’uko nagize. Ntimuzopfuka ubwanwa bwo haruguru, kandi ntimuzorya ivyo babazaniye+. 23 Muzopfunga ibitambara vyanyu mu mutwe, mwambare n’ibirato. Ntimuzogandara canke ngo murire, ahubwo muzoborera mu makosa yanyu+, murabane munihe. 24 Ezekiyeli yababereye ikimenyetso+. Muzokora nk’ivyo yakoze. Nivyashika, muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.”’”»

25 «Mwana w’umuntu, umusi nzobaka ikibanza cabo gikomeye, ca kibanza ciza kibanezera, ikintu bakunda cane kandi umutima wabo wipfuza, nkabaka n’abahungu babo n’abakobwa babo+, 26 uzobimenyeshwa n’uwacitse kw’icumu+. 27 Kuri uwo musi, uzoteranura akanwa kawe uvugane n’uwo yacitse kw’icumu. Ntuzoba ukiri nyamuragi+. Uzobabera ikimenyetso, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.»

25 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, niwerekeze amaso ku Bamoni+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizobashikira+. 3 Ku bijanye n’Abamoni, vuga uti: “Nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova. Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ko mwavuze ngo “Awa!” ku bijanye n’ahantu hanje heranda igihe hahumanywa, no ku bijanye n’igihugu ca Isirayeli igihe catikizwa, no ku bijanye n’abo mu Buyuda igihe bajanwa mu bunyagano, 4 ngira rero ntume abantu bo mu buseruko babigarurira. Bazoshira amakambi* yabo iwanyu, bashinge amahema muri mwebwe. Bazorya ivyamwa vyanyu, banywe n’amata yanyu. 5 Igisagara ca Raba+ nzokigira aho baragira ingamiya, igihugu c’Abamoni ndakigire ahantu amasho aruhukira. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”»

6 «Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko mwakubise amashi ku yandi+, mukadida ibirenge, mukanezerwa kubera ivyashikiye igihugu ca Isirayeli mufise akagaye kenshi+, 7 nzoramvura rero ukuboko ndabahane, ntume amahanga abasahura. Nzobarandura mu yandi mahanga, ndabahonye muve mu bindi bihugu+. Nzobazimanganya, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

8 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko Mowabu+ na Seyiri+ bavuze ngo: ‘Erega Ubuyuda bumeze nk’ayandi mahanga yose’, 9 ngira ntume vyoroha gutera uruhande* rwa Mowabu ruri hafi y’ibisagara vyo ku mupaka waho, n’ibisagara vyizavyiza* vy’ico gihugu ari vyo Beti-Yeshimoti, Bayali-Meyoni, gushika n’i Kiriyatayimu+. 10 Nzotuma hegukira abantu bo mu buseruko nka kurya nzobigira ku Bamoni+, ku buryo Abamoni batazosubira kwibukwa mu mahanga+. 11 Nzoshitsa urubanza naciriye Mowabu+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

12 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+. 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+. 14 “Nzokwihora Edomu biciye ku bantu banje b’Abisirayeli+. Bazozana kuri Edomu ishavu ryanje n’uburake bwanje, kugira Abanyedomu bibonere ingene nihora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’”

15 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kubera urwanko rudahera rw’Abafilisitiya, bagize umutima mubi* barondera kwihora no guhonya+. 16 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Ngira ndamvure ukuboko mpane Abafilisitiya+, ndandure Abakereti+, mponye n’ababa ku nkengera y’ikiyaga basigaye+. 17 Nzobihora bimwe bikomeye ndabahane naratse, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninabihora.’”»

26 Mu mwaka ugira 11, ku musi wa mbere w’ukwezi, Yehova ambwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, Tiro yavuze yigamba kuri Yeruzalemu+ ngo: “Awa! Rya rembo ry’amahanga ryasenyuwe+! Ko yatikijwe, ibintu vyose bizoza iwanje, nce mba umutunzi.” 3 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ewe Tiro, ngira ndakurwanye, ndakurungikeko amahanga menshi, nka kurya ikiyaga kirungika imipfunda. 4 Bazosambura inzitiro za Tiro, bamenagure iminara yaho+. Nzokukumura umukungugu waho, hasigare ari urutare rukayangana kandi rugaragara. 5 Hazocika imbuga yo kwanikirako insenga z’umukwabu hagati mu kiyaga+.”

“Ni jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “kandi hazosahurwa n’amahanga. 6 Ababa mu bigwati vyiwe* vyo hagati mu gihugu bazokwicishwa inkota, kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

7 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe ngira nzane Nebukadinezari* wa mwami wa Babiloni, aze avuye mu buraruko atere Tiro+. Ni umwami w’abami+, afise amafarasi+, imikogote+ y’intambara, abarwanira ku mafarasi n’ingabo* nyinshi. 8 Ababa mu bigwati vyawe vyo hagati mu gihugu, azobicisha inkota. Azokwubaka uruzitiro rwo kugutera, arunde ibintu vyo kwuririrako ngo agutere, yongere akurwanye afise inkinzo ikomeye. 9 Azosenyura inzitiro zawe akoresheje ikigiga*, asiturire hasi iminara yawe akoresheje amashoka*. 10 Amafarasi yiwe azoba ari menshi ku buryo azotumura umukungugu awukurenze. Urwamo rw’abarwanira ku mafarasi, urw’imikogote n’urw’amapine yayo, ruzotuma inzitiro zawe zitigita niyinjira mu marembo yawe, nka kurya abasoda bashwara igisagara c’inzitiro zasenyutse. 11 Amabarabara yawe yose azoyakandagiza ibinono vy’amafarasi yiwe+. Abantu bawe azobicisha inkota, inkingi zawe zikomeye na zo zisenyukire hasi. 12 Bazosahura amatunga yawe, banyage ibidandazwa vyawe+, basambure inzitiro zawe, amazu yawe mezameza na yo bayasiturire hasi. Amabuye yawe n’ibintu vyawe bikozwe mu giti be n’ivu ryawe bazoca babiterera mu mazi.”

13 “Nzohagarika urwamo rw’indirimbo zawe, kandi ijwi ry’inanga zawe ntirizokwongera kwumvikana+. 14 Nzotuma usigara uri urutare rukayangana kandi rugaragara. Uzocika imbuga yo kwanikirako insenga z’umukwabu+. Ntuzogenda usubiye kwubakwa, kuko ari jewe Yehova ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

15 Umukama Segaba Yehova abwiye Tiro ati: “Ugira ngo amazinga ntazotigita niyumva urwamo rw’ugutemba kwawe, igihe abari ku mpfiro* bazoba bariko baraniha, n’inganda ziriko ziratikira iwawe+? 16 Abakuru* bose b’ikiyaga bazova ku ntebe zabo z’icubahiro, bakure amakanzu* yabo, bambure impuzu zabo zideshe, bajugumire*. Bazokwicara hasi bagume bajugumira, bakurabe bumiwe+. 17 Bazokuririmbira akaririmbo k’intimba+, bakubwire bati:

‘Ewe kuntu wayogeye+, wewe wahora ubamwo abantu bava mu biyaga, wewe gisagara cavugangwa!

Mwe n’abakubamwo mwari agakomeye ku kiyaga+,

mukajugumiza ababa kw’isi bose!

18 Umusi uzotemba, amazinga azojugumira,

amazinga yo mu kiyaga azota umutwe niwavaho+.’”

19 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ninagutikiza nka vya bisagara bitabamwo abantu, nkakuzanako isegenya ry’amazi asuriranya, n’amazi menshi akakurengera+, 20 wewe hamwe n’abamanukana nawe muri ca cobo*, nzotuma muhamvya aba kera. Nzotuma uja kuba ahantu h’epfo rwose, cokimwe n’ibibanza vya kera vyatikijwe, uri kumwe n’abamanuka muri ca cobo+, kugira ngo ntihagire uwusubira kukubamwo. Nzoheza ntume igihugu c’abazima kiba ciza*.

21 Nzotuma uranduka umutima bukwi na bukwi, kandi ntuzosubira kubaho+. Bazokurondera mugabo ntibazopfa basubiye kugutora”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

27 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku bijanye na Tiro+, 3 ubwire Tiro uti:

“Wewe uba ku marembo y’ikiyaga,

wewe ukorana urudandaza n’amahanga yo mu mazinga menshi,

Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Ewe Tiro, wewe ubwawe wavuze ngo: “Mfise ubwiza butagira akanenge+.”

 4 Uturere twawe turi hagati mu kiyaga.

Abakwubatse baguhaye ubwiza butagira akanenge.

 5 Imbaho zose bagukozemwo ni izo mu biti vy’imiberoshi vy’i Seniri+.

Bafashe isederi ry’i Libani bagukorera inkingi.

 6 Ingafe* zawe bazikoze mu biti vy’imyeloni vy’i Bashani.

Igice cawe c’imbere* bagikoze mu mbaho z’akajwari zashizweko amasenge, zava mu mazinga ya Kitimu+.

 7 Igitambara cawe c’ubwato cari gikozwe mu gihuzu ciza* c’amabara cava mu Misiri.

Ibitambara bipfuka uruhande rwawe rwo hejuru, vyari bikozwe mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya bw’umuyugubwe* biva mu mazinga ya Elisha+.

 8 Ababa i Sidoni n’i Aruvadi+ ni bo bagusoza.

Abahinga bawe ga Tiro, ni bo bagutumbereza+.

 9 Abagabo b’i Gebali+ bakanongoreye* kandi b’abahinga ni bo bahoma amafatanirizo yawe+.

Amato* yose yo mu kiyaga n’abayagendesha bahora baza iwawe kugira ngo muhanahane ibidandazwa.

10 Abagabo bo mu Buperesi, i Ludi n’i Puti+ bari mu ngabo zawe, bari abarwanyi bawe.

Bakumanikako inkinzo zabo n’inkofero zabo, bagatuma ugira ubwiza bwinshi.

11 Abagabo b’i Aruvadi bo mu ngabo zawe, bahagarara ku nzitiro zigukikuje,

abagabo b’abahizi bagakingira iminara yawe.

Bamanika inkinzo zabo z’umuzingi ku nzitiro zawe irya n’ino,

bagatuma ugira ubwiza butagira akanenge.

12 Ab’i Tarushishi+ bakorana nawe urudandaza kubera ubutunzi bwawe bwinshi+. Baguha ifeza, ubutare bw’icuma, ubw’ibati n’ubw’isasu, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe+. 13 Ab’i Yavani, i Tubali+ n’i Mesheki+ bakorana urudandaza nawe. Baguha abashumba+ n’ibintu vy’umujumpu, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 14 Abakomoka kuri Togaruma+ baguha amafarasi n’amafarasi y’intambara be n’indogobwa*, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 15 Ab’i Dedani+ bakorana urudandaza nawe. Wakoresha abadandaza mu mazinga menshi. Amasenge+ n’ibiti vy’umwebeni* ni yo ngabire baguha. 16 Abanyedomu bakorana urudandaza nawe kubera ibidandazwa vyawe vyinshi. Baguha amabuye y’agaciro yitwa tirikwaze, ubwoya busa n’umuyugubwe, impuzu zideshe z’amabara, ibitambara vyiza, amabuye y’agaciro yitwa korali n’ayitwa rubi, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe.

17 Ubuyuda n’igihugu ca Isirayeli bakorana urudandaza nawe. Baguha ingano z’i Miniti+, ivyo kurya vyizavyiza, ubuki+, amavuta n’ibintu bimota neza*+, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe+.

18 Ab’i Damasiko+ bakorana urudandaza nawe kubera ibidandazwa vyawe vyinshi n’ubutunzi bwawe bwose. Bashora iwawe umuvinyu w’i Heluboni n’ubwoya buva i Zahari*. 19 Ab’i Vedani n’i Yavani mu karere ka Uzali, baguha ibintu bicuzwe mu cuma, umubagabaga* na kanehe*, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 20 Ab’i Dedani+ bashora iwawe impuzu zo kwicarako* bashira ku bikoko bitwara abantu n’ibintu. 21 Wakoresha Abarabu n’abakuru bose b’i Kedari+. Badandaza imyagazi y’intama, impfizi z’intama n’impene+. 22 Abacuruza b’i Sheba n’i Rama+ bakorana urudandaza nawe. Baguha amaparufe meza cane y’ubwoko bwose, ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro n’inzahabu, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe+. 23 Ab’i Harani+, i Kane, i Edeni+, abacuruza b’i Sheba+, i Ashuru+ n’i Kilimadi, bakorana urudandaza nawe. 24 Mu masoko yawe bahashora impuzu nziza, imitamana ikozwe mu gitambara c’ubururu idesheko udusharizo tw’amabara n’amatapi y’amabara menshi. Vyose vyaba bitekeye, biboheshejwe imigozi.

25 Amato y’i Tarushishi+ ni yo yaseha ibidandazwa vyawe,

ku buryo wuzura ukaremerwa* uri iyo kure hagati mu kiyaga.

26 Abagusoza bakujanye mu mazi menshi.

Umuyaga wo mu buseruko waragusabije uri iyo kure hagati mu kiyaga.

27 Ubutunzi bwawe, ibintu vyawe, ibidandazwa vyawe, abagusoza, abagutumbereza,

abahoma amafatanirizo yawe, abagurisha ibidandazwa vyawe+ n’abarwanyi bose+,

ni ukuvuga isinzi* ryose ry’abantu bari iwawe,

vyose bizonyikira iyo kure hagati mu kiyaga ku musi w’ugutemba kwawe+.

28 Abagutumbereza nibakoma akaruru, uturere two ku nkengera tuzotigita.

29 Abasoza ubwato bose, ababutwara bose n’abakorera ku mato bose,

bazokwururuka bave mu mato yabo, bahagarare i musozi.

30 Bazoshira ijwi hejuru bakuborogere cane+

biyorerako umukungugu ku mutwe, bikumbagaza mu minyota.

31 Bazokwiharanguza bakenyere n’amagunira.

Bazokuririra batuntuye, baboroge cane.

32 Mu gucura intimba kwabo bazokuririmbira akaririmbo k’intimba, baririmbane agahinda bati:

“Ni nde ameze nka Tiro, umwe yaguye mu kiyaga akanumirizwayo+?

33 Igihe ibidandazwa vyawe vyaba bivuye kure mu kiyaga, amahanga menshi warayaha akaronka ibikwiye*+.

Ubutunzi bwawe bwinshi n’ibidandazwa vyawe vyaratungisha abami b’isi+.

34 None ubu wasabiye kure mu kiyaga, unyikira mw’ibenga+.

Ibidandazwa vyawe vyose n’abantu bawe bose, vyanyikanye nawe+.

35 Ababa mu mazinga bose bazokuraba bumiwe+,

abami babo bahinde agashitsi bajorewe+. Bazota umutwe, biboneke no mu maso.

36 Abadandaza bo mu mahanga bazovuza agahwa kubera ivyagushikiye.

Iherezo ryawe rizoza bukwi na bukwi, kandi rizoba riteye ubwoba.

Ntuzopfa wongeye kubaho+.”’”»

28 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, bwira indongozi ya Tiro uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Kubera ko umutima wawe usigaye wibona+, uguma uvuga ngo: “Ndi imana.

Nicaye ku ntebe y’imana hagati mu kiyaga+.”

Mugabo uri umuntu buntu, nturi imana,

naho mu mutima wawe wiyumvira ko uri imana.

 3 Aho rero ngo urusha Daniyeli+ ubukerebutsi,

ukibaza ko ata kinyegezwa kibaho kuri wewe!

 4 Biciye ku bukerebutsi bwawe no ku gutahura kwawe wabaye umutunzi,

kandi uguma wegeranya inzahabu n’ifeza mu bigega vyawe+.

 5 Kubera ko ukerebutse mu vy’urudandaza+,

waratunze cane maze umutima wawe ugira ubwibone kubera ubutunzi ufise.’”

6 “Umukama Segaba Yehova avuze rero ati:

‘Kubera ko wiyumvira ko uri imana mu mutima wawe,

 7 ngira ndagushuhurireko abanyamahanga bo mw’ihanga rikaze kuruta ayandi+.

Bazosokora inkota zabo batikize ibintu vyose vyiza waronse biciye ku bukerebutsi bwawe,

bahumanye ubwiza bwawe bw’agatangaza+.

 8 Bazokumanukana mu cobo*,

kandi uzopfa urupfu rubi, uri iyo kure hagati mu kiyaga+.

 9 Woba uzoba ukivuga ko uri imana, ubwira uwukwica?

Imbere y’abaguhumanya, uzoba uri umuntu buntu, ntuzoba uri imana.’”

10 “Abanyamahanga bazokwica urupfu nk’urw’abatagenyerewe*,

kuko ari jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

11 Yehova yongera kumbwira ati: 12 «Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku bijanye n’umwami wa Tiro, umubwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Wari akarorero mu bijanye no kutagira akanenge*,

ufise ubukerebutsi bwinshi+ n’ubwiza butagira akanenge+.

13 Wari muri Edeni, rya tongo ry’Imana.

Wari wuzuyeko amabuye y’agaciro yose:

uri ayitwa rubi, topazi, yasipi, kirizolito, onigisi, yade, safiro, tirikwaze+ na emerode.

Ayo mabuye yose yari ateretse mu tuntu tw’inzahabu.

Vyateguwe ku musi waremeweko.

14 Nakugize umukerubi yarobanuwe* ngo akingire.

Wari ku musozi mweranda w’Imana+, kandi wagendagenda hagati y’amabuye yaka umuriro.

15 Wagumye uri intungane kuva umusi waremwa

gushika utanguye gukora ibitagororotse+.

16 Kubera ko wakora cane urudandaza+,

iwawe haragwiriye ubukozi bw’ikibi, utangura gucumura+.

Ewe mukerubi ukingira, nzokwirukana rero ku musozi w’Imana nk’umuntu ahumanye, ndakurandure+,

uve hagati y’amabuye yaka umuriro.

17 Ubwiza bwawe bwatumye ugira ubwibone mu mutima+.

Warononye ubukerebutsi bwawe kubera ubwiza bwawe bw’agatangaza+.

Nzoguterera hasi+,

ndakugire akabarore imbere y’abami.

18 Kubera amakosa yawe menshi n’urudandaza rwawe rurimwo ububeshi, warahumanije ibibanza vyawe vyeranda.

Nzotuma umuriro waduka hagati muri wewe, ugufyete+.

Nzoguhindura iminyota kw’isi, mu maso y’abakwitegereza bose.

19 Abari bakuzi bose mu mahanga bazokuraba bumiwe+.

Iherezo ryawe rizoza bukwi na bukwi, kandi rizoba riteye ubwoba.

Ntuzopfa wongeye kubaho+.’”»

20 Yehova yongera kumbwira ati: 21 «Mwana w’umuntu, hindukiza amaso urabe i Sidoni+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizohashikira. 22 Uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Ngira nkurwanye, ewe Sidoni, ninahazwe hagati muri wewe.

Abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninashitsa urubanza namuciriye, nkerekana ko ndi mweranda biciye kuri we.

23 Nzomurungikamwo ikiza, amaraso aseseke mu mabarabara yiwe.

Inkota niyamutera impande zose, abantu bazopfa, bagwe hagati muri we.

Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.

24 Ico gihe Abisirayeli ntibazokwongera gukikuzwa n’ibihandambwa bicumita canke amahwa ababaza+, ba bandi babagaya. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.’”

25 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ninasubira gukoraniriza hamwe Abisirayeli ndabakuye mu mahanga basanzarijwemwo+, nzokwerekana ko ndi mweranda mu maso y’amahanga biciye kuri bo+. Bazokwibera mu gihugu cabo+ nahaye umusavyi wanje Yakobo+. 26 Bazokibamwo mu mutekano+, bubake amazu, batere imirima y’imizabibu+. Bazokwibera mu mutekano ninashitsa urubanza naciriye ababakikuje bose babagaya+. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo.’”»

29 Mu mwaka ugira cumi, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira 12 w’ukwo kwezi, Yehova yambwiye ati: 2 «Mwana w’umuntu, niwerekeze amaso kuri Farawo umwami wa Misiri, uvuge ubuhanuzi bw’ibizomushikira n’ibizoshikira Misiri yose+. 3 Vuga uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Ehe ngira nkurwanye, ewe Farawo mwami wa Misiri+,

wewe rukoko rwo mu mazi rwiryamiye mu migende y’uruzi rwaco Nili*+.

Wewe wavuze ngo: “Uruzi rwanje Nili ni rwanje, kandi ni je narwishiriyeho+.”

 4 Naho ari ukwo, nzoshira ingobe* mu mibangabanga yawe, ntume amafi yo mu ruzi rwawe Nili amata ku bigaragamba vyawe.

Nzokuduza ndagukure mu ruzi rwawe Nili, wewe n’amafi yose yo muri urwo ruzi amase ku bigaragamba vyawe.

 5 Nzoguhebera mu bugaragwa, mwe n’amafi yose yo mu ruzi rwawe Nili.

Uzogwa ku gahinga kandi nta wuzokwegeranya canke ngo agukorakoranye+.

Nzogutanga uribwe n’ibikoko vyo mw’ishamba be n’inyoni zo mu kirere+.

 6 Ico gihe, ababa mu Misiri bose bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova,

kuko imfashanyo bahaye Abisirayeli yahobahoba nk’akatsi*+.

 7 Barifadikije ukuboko kwawe, urajanjagurika,

ubamanyura igitugu.

Barakwishimikije uravunika,

utuma amaguru* yabo atirigana+.’

8 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Ehe ngira nkuzaneko inkota+, ndandure iwawe abantu n’ibikoko. 9 Igihugu ca Misiri kizotikizwa gisigare ari akahebwe+. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova, kuko wavuze* ngo: “Uruzi Nili ni rwanje, kandi ni je narushizeho+.” 10 Ngira rero ndakurwanye, ndwanye n’uruzi rwawe Nili. Igihugu ca Misiri nzogitikiza ntume cuma, gisigare ari umusaka+ kuva i Migidoli+ gushika i Siyene+, no gushika ku rubibe rwa Etiyopiya. 11 Nta muntu canke igitungwa kizohahonyoza ikirenge+, kandi kizomara imyaka 40 ata wukibamwo. 12 Igihugu ca Misiri nzokigira akahebwe kuruta ibindi bihugu, ibisagara vyaco bibe akahebwe kuruta ibindi bisagara mu kiringo c’imyaka 40+. Nzosanzaza Abanyamisiri mu mahanga, ndabashwiragize mu bihugu+.’

13 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Imyaka 40 niyahera, nzokoraniriza hamwe Abanyamisiri, ndabagarukane ndabakuye mu mahanga bazoba barasanzarijwemwo+. 14 Abanyamisiri bagizwe imbohe nzobagarukana mu gihugu ca Patirosi+, mu gihugu bakomokamwo. Bari ng’aho bazosigara ari ubwami ata co buvuze. 15 Misiri izosigara iri munsi y’ubundi bwami, kandi ntizokwongera kuganza ayandi mahanga+. Nzobagira inkehwa ku buryo batazoshobora kugira ububasha ku yandi mahanga+. 16 Misiri ntizopfa isubiriye kwizigirwa n’Abisirayeli+. Ico izokora, izobibutsa ikosa bakoze mu kurondera imfashanyo ku Banyamisiri. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.’”»

17 Nuko mu mwaka ugira 27, mu kwezi kwa mbere, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, Yehova ambwira ati: 18 «Mwana w’umuntu, Nebukadinezari*+ umwami wa Babiloni, yakoresheje ingabo ziwe igikorwa gikomeye cane co kurwanya Tiro+. Imitwe yose yaratobotse ubuhanza, ibitugu vyose biramyoka. Mugabo we n’ingabo ziwe, nta mpembo baronse ku bw’igikorwa gikomeye bakoze batera Tiro.

19 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Igihugu ca Misiri ngira ndagihe Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Azotwara ubutunzi bwaho, ahasahure ibintu vyinshi vyaho, abinyage. Ni vyo bizoba impembo y’ingabo ziwe.”

20 “Nzomuha igihugu ca Misiri kugira ndamuhembere igikorwa gikomeye yakoze mu kuhatera*, kuko ari jewe bakoreye+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

21 Kuri uwo musi, nzotuma ihembe rinaga ku bw’Abisirayeli*+, nawe ndaguhe akaryo ko kuvugira hagati muri bo. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.»

30 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Nimuboroge muti: “Turagowe, wa musi ugira ushike!”

 3 Kuko uwo musi uri hafi, emwe, umusi wa Yehova uri hafi+.

Uzoba ari umusi w’ibicu+, igihe cashinzwe co gucira urubanza amahanga+.

 4 Inkota izotera Misiri. Etiyopiya izotekerwa n’ubwoba abantu nibicwa bakagwa mu Misiri.

Ubutunzi bwa Misiri buratwawe, n’imishinge yaho irasambuwe+.

 5 Etiyopiya+, Puti+, Ludi n’abantu bose batandukanye*,

Kubi n’abantu bo mu gihugu kiri mw’isezerano*,

bose bazokwicishwa inkota.’”

 6 Yehova avuze ati:

“Abashigikiye Misiri na bo nyene bazogwa,

n’ububasha butuma yihambaza bushirwe hasi+.”

“Kuva i Migidoli+ gushika i Siyene+ bazokwicishwa inkota mu gihugu”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 7 “Bazoba akahebwe kuruta ibindi bihugu, ibisagara vyaho bitikizwe kuruta ibindi bisagara+. 8 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninadomeka umuriro mu Misiri, n’abayishigikiye bose bakajanjagurwa. 9 Kuri uwo musi, nzorungika intumwa mu mato* zijugumize Etiyopiya yiyemera. Abaho bazotekerwa n’ubwoba ku musi ugira ushikire Misiri, kuko utegerezwa gushika.”

10 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nzozimanganya amasinzi ya Misiri biciye kuri Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. 11 We n’ingabo ziwe, bamwe bakaze kuruta abo mu yandi mahanga+, bazozanwa kugira batikize igihugu. Bazosokora inkota zabo batere Misiri, ico gihugu bacuzuzemwo abishwe+. 12 Imigende ya Nili+ nzotuma iba ahantu humye, igihugu ndakigurishe ku bantu b’ababisha. Nzotikiza igihugu n’ibiri muri co vyose biciye ku banyamahanga+. Jewe Yehova ndavuze.”

13 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nzotikiza n’ibigirwamana bisesemye*, nzimanganye imana ata co zimaze z’i Nofu*+. Nta mukuru* ava mu gihugu ca Misiri azoba akiboneka, kandi nzotuma mu gihugu ca Misiri bagira ubwoba+. 14 Nzotikiza Patirosi+, ndomeke umuriro i Zowani, nshitse urubanza naciriye No*+. 15 Nzosuka uburake bwanje kuri Sini, ikibanza gikomeye ca Misiri, mponye ababa mu gisagara ca No. 16 Nzodomeka umuriro mu Misiri. Sini izotekerwa n’ubwoba, igisagara ca No kimenwe, i Nofu* na ho haterwe ku murango izuba riva. 17 Abasore b’i Oni* n’i Pibeseti bazokwicishwa inkota, abo muri ivyo bisagara bajanwe kugirwa imbohe. 18 I Tahapanesi umurango uzohinduka umwiza ninavunirayo ibiti vyo kwikoreza imizigo* vya Misiri+. Ububasha butuma yihambaza buzohera+ atwikirwe n’ibicu, abo mu bisagara vyaho bajanwe kugirwa imbohe+. 19 Nzoshitsa urubanza naciriye Misiri, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

20 Nuko mu mwaka ugira 11, mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi, Yehova ambwira ati: 21 «Mwana w’umuntu, navunye ukuboko kwa Farawo umwami wa Misiri. Ntikuzotubikwa kugira ngo gukire, canke ngo bakuzingireko igitambara ngo gukomere ku buryo gufata inkota.»

22 «Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ehe ngira ndwanye Farawo umwami wa Misiri+, ndamuvune amaboko, ugukomeye n’ukwavunitse+, ntume inkota ikoroka ive mu kuboko kwiwe+. 23 Ico gihe nzosanzaza Abanyamisiri mu mahanga, ndabashwiragize mu bihugu+. 24 Nzokomeza amaboko* y’umwami wa Babiloni+, nshire inkota yanje mu kuboko kwiwe+, mvune amaboko ya Farawo. Farawo azoborogera cane imbere yiwe* nk’umuntu ari ku mpfiro. 25 Nzokomeza amaboko y’umwami wa Babiloni, mugabo amaboko ya Farawo azoregarega. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova, ninashira inkota yanje mu kuboko kw’umwami wa Babiloni, na we akayibangurira igihugu ca Misiri+. 26 Nzosanzaza Abanyamisiri mu mahanga, ndabashwiragize mu bihugu+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

31 Mu mwaka ugira 11, mu kwezi kugira gatatu, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, bwira Farawo umwami wa Misiri n’amasinzi yiwe+ uti:

“Ni nde ahambaye nkawe?

 3 Harabayeho Umwashuri, isederi i Libani.

Ryari rifise amashami meza nk’igisaka gitanga igitutu, rikaba rirerire mu gihagararo.

Ubushorishori bwaryo bwagera mu bicu.

 4 Amazi yatumye rikura, amasoko y’amazi agera epfo atuma riba rirerire.

Irya n’ino y’aho ryari ritewe hari imigezi y’amazi.

Imigende yayo yavomera ibiti vyose vyo mu gahinga.

 5 Ni co catumye riba rirerire kuruta ibindi biti vyose vyo mu gahinga.

Amashami yaryo yaragwiriye, aba maremare

kubera amazi menshi yo mu migezi yaryo.

 6 Inyoni zose zo mu kirere zarika ku mashami yaryo,

ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikavyarira munsi y’amashami yaryo,

amahanga yose arimwo abantu benshi na yo akibera mu gitutu caryo.

 7 Rirahava riba agatangaza mu bwiza no mu burebure bw’amashami

kubera ko imizi yaryo yashora mu mazi menshi.

 8 Nta rindi sederi ryo mw’itongo ry’Imana+ ryari rimeze nka ryo.

Nta giti na kimwe c’umuberoshi cari gifise amashami nka ryo.

Nta giti na kimwe c’umwarumoni cari gifise amashami ahwanye n’ay’iryo sederi.

Nta kindi giti co mw’itongo ry’Imana canganya ubwiza na ryo.

 9 Narigize ryiza, ndariha n’amababi menshi,

kandi ibindi biti vyose vyo muri Edeni, rya tongo ry’Imana y’ukuri, vyararigirira agashari.”

10 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ko ryabaye rirerire* rikaduza ubushorishori bwaryo mu bicu, umutima waryo na wo ukishira hejuru kubera uburebure bwaryo, 11 nanje rero nzoriha umutegetsi akomeye w’amahanga+. Azorihagurukira ata kabuza, kandi nzoriheba kubera ububisha bwaryo. 12 Abanyamahanga bo mw’ihanga rikaze kuruta ayandi bazoryicira, barite ku musozi. Amababi yaryo azogwa mu mibande yose, amashami yaryo yavunaguritse arambarare mu migezi yose yo mu gihugu+. Amahanga yose yo kw’isi azova mu gitutu caryo, arihebe. 13 Inyoni zose zo mu kirere zizoba ku mutumba waryo waguye hasi, ibikoko vyose vyo mw’ishamba bibe ku mashami yaryo+. 14 Ivyo bizoba kugira ngo ntihagire igiti na kimwe kiri hafi y’amazi kiba kirekire canke ngo kiduze ubushorishori bwaco mu bicu, no kugira ngo ntihagire igiti kivomerewe neza gishikira ibicu mu burebure. Kuko vyose bizotangwa ngo bipfe, bije mu gihugu c’epfo cokimwe n’abana b’abantu bamanuka mu cobo*.”

15 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umusi iryo sederi rizomanuka mu kuzimu, nzotuma haba ikigandaro. Nzopfuka rero amazi agera epfo, nzibire imigezi yayo kugira ngo amazi menshi ntatembe. Nzotuma i Libani haba umwiza kubera ryo, kandi ibiti vyose vyo mu gahinga bizokwuma. 16 Nihumvikana ijwi ry’ugutemba kwaryo, nzotuma amahanga atigita igihe nzorimanukana mu kuzimu cokimwe n’abamanuka muri ca cobo*. Ibiti vyose vyo muri Edeni+, ibiti bikomakomeye kandi vyizavyiza vy’i Libani, ibiti vyose bivomerewe neza, bizokwumva bihojejwe mu gihugu c’epfo. 17 Na vyo nyene vyamanutse mu kuzimu cokimwe na ryo, mu bicishijwe inkota+ hamwe n’abarishigikiye* bo mu mahanga bahora baba mu gitutu caryo+.”

18 “Mu biti vyo muri Edeni, hari na kimwe mwanganya ubuninahazwa canke cari gihambaye nkawe+? Naho ari ukwo, uzomanukanwa ata kabuza mu gihugu c’epfo cokimwe n’ibiti vyo muri Edeni. Uzoryama hamwe n’abatagenyerewe, hamwe n’abicishijwe inkota. Ivyo ni vyo bizoshikira Farawo n’amasinzi yiwe yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

32 Nuko mu mwaka ugira 12, mu kwezi kugira 12, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku bijanye na Farawo umwami wa Misiri, umubwire uti:

“Wari umeze nk’intambwe y’umukangara ikomeye* mu mahanga,

mugabo wanumijwe.

Wari nk’urukoko rwo mu mazi+, ukubitagura amazi yo mu nzuzi zawe,

utobanga amazi n’ibirenge vyawe wongera wonona inzuzi*.”

 3 Umukama Segaba Yehova avuze ati:

“Nzogutererako urusenga rwanje nkoresheje isinzi ry’amahanga menshi,

kandi bazogukwegera mu rusenga rwanje rw’umukwabu.

 4 Nzoguhebera i musozi

ndagushiburire mu gahinga.

Nzotuma inyoni zose zo mu kirere zikugwako,

ntume ibikoko vyo kw’isi yose bikurya bihage+.

 5 Nzoterera inyama zawe ku misozi,

nuzuze imibande ibisigarira vyawe+.

 6 Igihugu nzokijobekesha amaraso yawe azoseseka, nshikane no ku misozi,

kandi azokwuzura imigezi*.”

 7 “Kandi niwamara kuzima, nzopfuka ijuru ntume inyenyeri zo kw’ijuru zihinduka umwiza.

Izuba nzoripfukisha ibicu

kandi ukwezi ntikuzotanga umuco+.

 8 Nzotuma ibintu vyose bitanga umuco vyo kw’ijuru bihinduka umwiza kubera wewe,

kandi igihugu cawe nzogipfukisha umwiza”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

 9 “Nzotuma imitima y’amahanga menshi igira amaganya, abantu bawe bagizwe imbohe ninabajana mu yandi mahanga,

mu bihugu utamenye+.

10 Nzotuma amahanga menshi atekerwa n’ubwoba,

abami babo na bo bahinde agashitsi bajorewe kubera wewe, ninabangura inkota yanje barorera.

Ku musi w’ugutemba kwawe,

bazoguma bajugumira umwe wese atinyira ubuzima bwiwe.”

11 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati:

“Inkota y’umwami wa Babiloni izokuzako+.

12 Nzotuma amasinzi yawe yicishwa inkota n’abarwanyi b’abahizi,

bose hamwe bakaba bakaze kuruta abo mu yandi mahanga+.

Bazoshira hasi ubwishime bwa Misiri, kandi amasinzi yiwe yose azozimanganywa+.

13 Nzotikiza ibitungwa vyiwe vyose biri iruhande y’amazi yiwe menshi+,

kandi nta kirenge c’umuntu canke ikinono c’igitungwa kizosubira kuyatobanga+.”

14 “Ico gihe nzotuma amazi yabo aba meza,

ntume inzuzi zabo zitemba nk’amavuta”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

15 “Misiri ninayigira umusaka, nkayigira igihugu catswe ivyari bicuzuyemwo vyose+,

ninasasika ababayo bose,

bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.

16 Ako ni akaririmbo k’intimba, kandi abantu bazokaririmba ata kabuza.

Abakobwa bo mu mahanga bazokaririmba.

Bazokaririmbira Misiri n’amasinzi yayo yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

17 Maze mu mwaka ugira 12, ku musi ugira 15 w’ukwezi, Yehova ambwira ati: 18 «Mwana w’umuntu, borogera amasinzi ya Misiri, umanukane Misiri mu gihugu c’epfo, we hamwe n’abakobwa bo mu mahanga akomeye, cokimwe n’abamanuka baja muri ca cobo*.

19 “Mbega hari uwo urusha ubwiza? Manuka riho, uryame hamwe n’abatagenyerewe!”

20 “Bazogwa* mu bicishijwe inkota+. Yatanzwe* ngo yicishwe inkota. Nimumuburutire hariya we n’amasinzi yiwe.

21 Abarwanyi b’intwari kuruta abandi bazovugana na we hamwe n’abamufasha, bavuganire epfo mu kuzimu. Bazomanuka ata kabuza, baryame cokimwe n’abatagenyerewe, bishwe n’inkota. 22 Ashuri n’ishengero ryiwe ryose ni yo bari. Imva zabo ziramukikuje. Bose bicishijwe inkota+. 23 Imva ziwe ziri epfo muri ca cobo*, kandi ishengero ryiwe rikikuje imva ziwe. Bose bicishijwe inkota, kuko bahoze batera ubwoba abantu mu gihugu c’abazima.

24 Elamu+ n’amasinzi yiwe yose akikuje imva yiwe ni yo bari, bose bakaba bicishijwe inkota. Bagiye mu gihugu c’epfo batagenyerewe, bamwe bahoze batera ubwoba abantu mu gihugu c’abazima. Ubu rero bazomaramara cokimwe n’abamanuka muri ca cobo*. 25 Bamuteguriye igitanda mu bishwe cokimwe n’amasinzi yiwe yose akikuje imva ziwe. Bose ntibagenyerewe kandi bicishijwe inkota, kubera ko bahoze batera ubwoba abantu mu gihugu c’abazima. Bazomaramara cokimwe n’abamanuka muri ca cobo*. Yashizwe hamwe n’abishwe.

26 Aho ni ho hari Mesheki na Tubali+ n’amasinzi yabo* yose. Imva zabo* ziramukikuje. Bose ntibagenyerewe kandi basogoswe inkota, kubera ko bahoze batera ubwoba abantu mu gihugu c’abazima. 27 None ntibazoryama hamwe n’abarwanyi b’intwari batagenyerewe kandi bishwe, bamwe bamanukanye mu kuzimu n’ibirwanisho vyabo vy’intambara? Inkota zabo zizoshirwa munsi y’imitwe yabo*, n’ibicumuro vyabo bishirwe ku magufa yabo, kubera ko abo barwanyi b’intwari bahoze batera ubwoba abantu mu gihugu c’abazima. 28 Nayo wewe, uzomenagurirwa mu batagenyerewe, kandi uzoryama hamwe n’abicishijwe inkota.

29 Edomu+ n’abami bayo n’abakuru bayo bose ni yo bari. Naho bari abanyenkomezi, baryamitswe hamwe n’abicishijwe inkota. Na bo nyene bazoryama hamwe n’abatagenyerewe+ hamwe n’abamanuka muri ca cobo*.

30 Abatware* bose bo mu buraruko ni yo bari, hamwe n’Abanyasidoni bose+, bamwe bamanukanye ibimaramare mu kuzimu bari kumwe n’abishwe, naho bahoze batera ubwoba abantu kubera ububasha bwabo. Bazoryama batagenyerewe, baryame hamwe n’abicishijwe inkota, kandi bazomaramara cokimwe n’abamanuka muri ca cobo*.

31 Abo bose Farawo azobabona, yumve ahojejwe kubera ivyashikiye amasinzi yiwe yose+. Farawo n’ingabo ziwe zose bazokwicishwa inkota”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

32 “Farawo n’amasinzi yiwe yose bazoryamikwa hamwe n’abatagenyerewe, hamwe n’abicishijwe inkota, kubera ko Farawo yahoze atera ubwoba abantu mu gihugu c’abazima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

33 Yehova ambwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, bwira abantu bo mw’ihanga ryanyu+ uti:

“Dufate ko nteje inkota igihugu+, maze abantu bose bo muri co bagatora umuntu bakamugira inderetsi yabo, 3 hanyuma akabona inkota ije gutera igihugu, akavuza inzamba, akaburira abantu+. 4 Umuntu niyumva ijwi ry’iyo nzamba mugabo ntafate nka nkama iyo mburi+ maze inkota ikaza ikamuhitana, amaraso yiwe azoba ku gatwe kiwe+. 5 Yumvise ijwi ry’inzamba mugabo ntiyafata nka nkama iyo mburi. Amaraso yiwe azoba ku gatwe kiwe. Iyo afata nka nkama iyo mburi, yari kurokoka.

6 Ariko iyo nderetsi niyabona inkota ije, ntivuze inzamba+ ngo iburire abantu, maze inkota ikaza igahitana umwe muri bo, uwo muntu azopfa azize ikosa ryiwe, ariko amaraso yiwe nzoyishuza iyo nderetsi*+.”

7 Mwana w’umuntu, nakugenye ngo ubere inderetsi Abisirayeli. Niwumva ijambo riva mu kanwa kanje, uzoce ubampera iyo mburi+. 8 Ninabwira umubisha nti: “Wa mubisha we, ntuzobura gupfa+!”, mugabo ntuvuge kugira ngo umuburire ahindure ingendo, uwo mubisha azopfa ari umubisha kubera ikosa ryiwe+. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza. 9 Mugabo niwaburira umubisha ngo ahebe ingendo yiwe ariko akanka guhindura ingendo, azopfa azize ikosa ryiwe+. Mugabo wewe uzorokora ubuzima bwawe ata kabuza+.

10 Mwana w’umuntu, bwira Abisirayeli uti: “Mwavuze ngo: ‘Ubugarariji bwacu n’ibicumuro vyacu biraturemereye cane, bigatuma tugenda turahera+. Wumva tuzoshobora kubaho+?’” 11 Babwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima. Simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko ahindura ingeso ziwe+, akabandanya kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muhebe ingeso zanyu mbi+. Ni kuki none mwokwirirwa murapfa ga yemwe Bisirayeli+?’”

12 Mwana w’umuntu, bwira abantu bo mw’ihanga ryanyu uti: “Umugororotsi niyagarariza, ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi ntibizomukiza+. Umubisha na we niyaheba ibikorwa vyiwe vy’ububisha, ntibizotuma agwa*+. N’umugororotsi ntazobandanya kubaho kubera ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi, umusi yacumuye+. 13 Ninabwira umugororotsi nti: ‘Vy’ukuri uzobaho’, mugabo agakora ibibi yishimira ubugororotsi bwiwe+, nta na kimwe mu bikorwa vyiwe vy’ubugororotsi kizokwibukwa. Azopfa azize ibibi* yakoze+.

14 Ninabwira na ho umubisha nti: ‘Ntuzobura gupfa’, na we agaheba ibicumuro vyiwe, agakora ibigororotse n’ibibereye+, 15 agasubiza ivyo yafashe nk’ingwati+, akishura ivyo yivye+, agakurikiza ivyagezwe bituma umuntu agira ubuzima, ntakore ibibi+, azobaho ata kabuza. Ntazopfa. 16 Nta na kimwe mu bicumuro yakoze kizomwagira*+. Kubera ko yakoze ibigororotse n’ibibereye, azobandanya kubaho ata kabuza+.”

17 Mugabo abantu bo mw’ihanga ryanyu bavuze bati: “Inzira ya Yehova ntigororotse”, kandi mu vy’ukuri inzira yabo ari yo itagororotse.

18 Umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi, azopfa ari vyo azize+. 19 Mugabo umubisha niyaheba ibintu vy’ububisha akora, agakora ibigororotse n’ibibereye, bizotuma abandanya kubaho+.

20 Mugabo mwavuze ngo: “Inzira ya Yehova ntigororotse+.” Yemwe Bisirayeli, umwe wese muri mwebwe nzomucira urubanza nisunze inzira ziwe!»

21 Amaherezo, mu mwaka ugira 12 kuva tujanywe mu bunyagano, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, umugabo yacitse kw’icumu i Yeruzalemu aza iyo ndi+, ambwira ati: «Igisagara cafashwe+!»

22 Ku mugoroba buca uwo muntu yacitse kw’icumu aza, ububasha* bwa Yehova bwari bwanjeko, maze Imana iteranura akanwa kanje imbere y’uko uwo muntu aza aho ndi mu gitondo. Akanwa kanje kaciye gateranuka, sinasubira kuba nyamuragi+.

23 Maze Yehova ambwira ati: 24 «Mwana w’umuntu, ababa mu bisagara vyatikijwe+ bavuga ku bijanye n’igihugu ca Isirayeli ngo: “Aburahamu yari umwe gusa, yamara yarigaruriye igihugu+. Ariko tweho turi benshi. Nta nkeka igihugu twaragihawe kiratwegukira.”

25 Babwire rero uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Murya indya zirimwo amaraso+, mugahanga amaso ibigirwamana vyanyu bisesemye*, kandi mukaguma musesa amaraso+. Hanyuma ngo mwegukire igihugu? 26 Mwizigiye inkota zanyu+, mukora ibintu bishisha, kandi umwe wese muri mwebwe yarahumanije umugore wa mugenziwe+. Hanyuma ngo mwegukire igihugu+?’”

27 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima yuko ababa mu bisagara vyatikijwe bazokwicishwa inkota. Abari mu gahinga nzobatanga ibikoko bibarye, abari mu bibanza bikomeye no mu masenga na bo bicwe n’indwara+. 28 Igihugu nzogitikiza gisigare ari umusaka vy’ukuri+, kandi ubwishime n’ubwibone bwaco bizokurwaho. Imisozi ya Isirayeli izosigara ari umusaka+, ata wukihaca. 29 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova igihugu ninagitikiza kigasigara ari umusaka vy’ukuri+, kubera ibintu vyose bishisha bakoze+.’”

30 Nayo wewe ga mwana w’umuntu, abantu bo mw’ihanga ryanyu barakuvuga bari iruhande y’impome no ku miryango y’inzu+. Barabwirana, umwe wese akabwira mwenewabo ngo: “Ingo tuje kwumviriza ivyo Yehova avuga.” 31 Bazoza ari benshi, bicare imbere yawe nk’abantu banje. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo ntibazobikora+, kuko bakoresha akarimi kabo bakubwira amajambo asosa*, mugabo umutima wabo uhahamiye inyungu mbi. 32 Erega kuri bo umeze nk’akaririmbo k’urukundo karirimbanywe akajwi keza, gaherekejwe n’akaziki gacuraranzwe neza n’igicurarangisho c’imirya. Bazokwumva ivyo uvuga mugabo nta n’umwe azobikora. 33 Nivyaranguka, kandi ntibizobura kuranguka, bazomenya vy’ukuri yuko higeze umuhanuzi muri bo+.»

34 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira abungere ba Isirayeli. Vuga ubuhanuzi, ubwire abungere uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Baragowe abungere ba Isirayeli+ baguma bigaburira ubwabo! Mbega abungere ntibari bakwiye kugaburira ubusho+? 3 Murya ibinure, mukambara impuzu zikozwe mu bwoya, mugakerera n’ibitungwa bivyibushe kuruta ibindi+. Ariko ntimugaburira ubusho+. 4 Ntimwakomeje izigoyagoya canke ngo muvure izirwaye canke ngo mutubike izakomeretse canke ngo mugarure izataye inzira canke ngo murondere izatakaye+. Ahubwo mwarazihahaje muzitwaza igikenye+. 5 Zaciye zisanzara kubera ata mwungere yariho+. Zarasanzaye ziribwa n’ibikoko vyose vyo mu gahinga. 6 Intama zanje zazimiriye ku misozi yose no ku mirambi yose miremire. Intama zanje zasanzariye kw’isi yose, ntihagira n’umwe aja kuzirondera canke agerageza kumenya iyo ziri.

7 None rero mwa bungere, nimwumve ijambo rya Yehova: 8 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ndirahiye jewe Imana nzima. Ko intama zanje zisigaye zihigwa, zikaribwa n’ibikoko vyose vyo mu gahinga kubera ko zitagira umwungere, kandi abungere banje bakaba batarondeye intama zanje, ahubwo bakaguma bigaburira ubwabo aho kugaburira intama zanje’”, 9 nimwumve rero mwa bungere ijambo rya Yehova. 10 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngira ndwanye abo bungere, kandi nzogira ico ndababaza ku bijanye n’intama zanje*. Nzobaka ibanga ryo kugaburira* intama zanje+, kandi abo bungere ntibazokwongera kwigaburira ubwabo. Nzorokora intama zanje ndazikure mu kanwa kabo, ntibabe bakizirya.”’

11 Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ndi hano, kandi jewe ubwanje nzorondera intama zanje, ndaziteho+. 12 Nzokwitaho intama zanje nka kurya umwungere agaburira intama ziwe yatoye zari zasanzaye+. Nzozirokora ndazikure mu bibanza vyose zari zarasanzariyemwo ku musi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+. 13 Nzozikura mu mahanga, ndazegeranye ndazikuye mu bihugu, ndazizane mu gihugu cazo. Nzozigaburirira ku misozi yo muri Isirayeli+, iruhande y’imigezi n’iruhande y’ahantu hose haba abantu mu gihugu. 14 Nzozigaburirira mu buragiro bwiza, kandi ku misozi miremire yo muri Isirayeli ni ho zizorisha+. Aho ni ho zizovyagira mu bwatsi bwiza+, zirishe mu buragiro bwiza cane ku misozi ya Isirayeli.’

15 ‘Jewe ubwanje nzogaburira intama zanje+, kandi jewe ubwanje nzozivyagiza+’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 16 ‘Iyatakaye nzoyirondera+, iyataye inzira ndayigarure, iyakomeretse ndayitubike, iyigoyagoya ndayikomeze. Mugabo iyivyibushe canke iyikomeye nzoyizimanganya, ndayigaburire urubanza.’

17 Ku bijanye namwe ntama zanje, Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nce urubanza hagati y’intama n’iyindi, hagati y’impfizi z’intama n’iz’impene+. 18 Ko murisha mu buragiro bwiza kuruta ubundi bwose, mbega ivyo ntivyari bikwiye? Muteko mukandagire uburagiro bwanyu busigaye? Mumaze kunywa amazi meza cane, muce muyonona mu kuyahonyanga? 19 None intama zanje zirishe mu buragiro mwakandagiye, zinywe n’amazi mwononye mu kuyahonyanga?’

20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova azibwiye: ‘Ndi hano, kandi jewe ubwanje nzoca urubanza hagati y’intama ivyibushe n’intama yonze, 21 kuko izirwaye zose mwagumye muzisunurisha ikiyunguyungu n’urutugu, mukaguma muzisunikisha amahembe yanyu, gushika muzisanzarije kure. 22 Nzokiza intama zanje, kandi ntizizosubira kuribwa n’ibikoko+. Nzoca urubanza hagati y’intama n’iyindi. 23 Nzoziha umwungere umwe+, umusavyi wanje Dawidi+, kandi azozigaburira. Ni we azozigaburira, abe umwungere wazo+. 24 Jewe Yehova nzoba Imana yazo+, umusavyi wanje Dawidi na we abe umukuru wazo+. Jewe Yehova ndavuze.

25 Nzogirana na zo isezerano ry’amahoro+, nzimanganye mu gihugu ibikoko bikaze+, kugira zibere mu mutekano mu gahinga, zisinzire zibereye mu bibira+. 26 Zo hamwe n’akarere gakikuje umurambi wanje nzobigira umuhezagiro+, ngwishe imvura mu gihe kibereye. Imihezagiro izocuncubuka nk’imvura+. 27 Ibiti vyo mu gahinga bizokwama ivyamwa, isi yimbuke+, intama zibere mu mutekano mu gihugu cazo. Kandi zizomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninavunagura ibiti baziremetse vyo kwikoreza imizigo*+, nkazirokora nkazikiza abo zari zishumbiye. 28 Ntizizokwongera guhigwa n’amahanga kandi ibikoko vyo mw’ishamba ntibizozirotsa. Zizokwibera mu mutekano, ata n’umwe azitera ubwoba+.

29 Nzozironsa umurima wa rurangiranwa. Ntizizokwongera kwicwa n’inzara mu gihugu+ kandi ntizizokwongera guteterezwa n’amahanga+. 30 “Kandi bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova Imana yabo ndi kumwe na bo, kandi ko na bo, ni ukuvuga Abisirayeli, ari abantu banje+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’”

31 “Nayo mwebwe ntama zanje+, intama nitwararika, muri abantu buntu, nanje nkaba Imana yanyu”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

35 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe akarere k’imisozi ka Seyiri+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizohashikira+. 3 Uhabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira ndakurwanye, wa karere k’imisozi ka Seyiri. Nzoramvura ukuboko kwanje ndakurwanye, ndakugire umusaka+. 4 Nzotikiza ibisagara vyawe, usigare uri umusaka+. Kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. 5 Kuko wagize urwanko rudahera+, utanga Abisirayeli ngo bicishwe inkota ca gihe bari mu vyago, igihe bahanwa irya nyuma+.’”

6 “Ndirahiye rero jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nzogutegurira gupfa*, kandi urupfu ruzogukurikirana+. Ko wanse amaraso, urupfu ruzogukurikirana+. 7 Akarere k’imisozi ka Seyiri nzokagira umusaka+, kandi nzoharandura abacayo bose n’abagarukayo bose. 8 Imisozi yaho nzoyuzuza ibiziga, kandi abicishijwe inkota bazogwa ku mirambi yawe, mu mibande yawe no mu migezi yawe yose. 9 Nzogutikiza ugume uri umusaka, kandi ibisagara vyawe nta wuzobibamwo+. Kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

10 Ko wavuze ngo: “Aya mahanga abiri n’ibi bihugu bibiri bizoba rwanje, kandi nzovyigarurira vyompi+”, kandi Yehova ubwiwe yari ng’aho, 11 “ndirahiye rero jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nzogukorera ibihwanye n’ishavu be n’ishari werekanye kubera urwanko wari ufitiye abantu banje+. Nzokwimenyekanisha muri bo ninagucira urubanza. 12 Uzoheza rero umenye vy’ukuri yuko jewe Yehova numvise amajambo yose y’ukutisonera wavuze ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli, igihe wavuga ngo: ‘Yagizwe umusaka. Twarayihawe ngo tuyirotse*.’ 13 Mwaramvuze nabi mubigiranye ubwibone, mugwiza amajambo yo kuntuka+. Vyose naravyumvise.”

14 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Igihe nzokugira umusaka, isi yose izonezerwa. 15 Ko wanezerewe igihe intoranwa y’Abisirayeli yacika umusaka, nawe ni ko nzokugira+. Nzogutikiza usigare uri umusaka, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose+. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

36 «Nayo wewe ga mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bwerekeye imisozi ya Isirayeli uti: “Yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo rya Yehova. 2 Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umwansi yavuze abigambako ngo: “Aho rero! Na ya misozi ya kera iratwegukiye+!”’”

3 Vuga rero ubuhanuzi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Kubera ko babagize umusaka, bakabatera babaturutse impande zose kugira ngo mwigarurirwe n’abarokotse* mu mahanga, kandi abantu bakaguma babavuga bongera babambika ibara+, 4 ku bw’ivyo rero ga yemwe misozi ya Isirayeli, nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova. Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi n’imirambi, imigezi n’imibande, ibibanza vyatikijwe bikaba umusaka+ n’ibisagara vyahebwe, bigasahurwa, bigacokorwa n’abarokotse bo mu mahanga mabanyi+, 5 ivyo vyose Umukama Segaba Yehova abibwiye ati: “Nzocira urubanza abarokotse bo mu mahanga be na Edomu yose uko ingana, ndabigiranye umwete wanje ururumba+. Barigaruriye igihugu canje banezerewe cane kandi bafise akagaye kenshi+, kugira bihagire uburagiro bwaho no kugira bahasahure+.”’”

6 Vuga rero ubuhanuzi ku vyerekeye igihugu ca Isirayeli, ubwire imisozi n’imirambi, imigezi n’imibande, uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umviriza! Nzovugana ishaka n’uburake kubera ko amahanga yabatetereje+.’”

7 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Jewe ndadugije ukuboko kwanje ndahira yuko amahanga abakikuje ubwayo azomaramara+. 8 Nayo mwebwe ga misozi ya Isirayeli, muzonaga amashami, mwame ivyamwa vy’abantu banje b’Abisirayeli+ kuko bazogaruka vuba. 9 Kuko ndi kumwe namwe, kandi nzobagarukako, murimwe mwongere muteragirweko imbuto. 10 Nzogwiza abantu bawe, Abisirayeli bose uko bangana. Ibisagara bizobamwo abantu+, ahatikijwe hasubire kwubakwa+. 11 Egome, nzogwiza abantu banyu n’ibitungwa vyanyu+. Bizogwira, birondoke. Nzotuma abantu bababako nk’uko vyahora+. Nzotuma mumera neza gusumba uko mwahora+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+. 12 Yemwe misozi, nzotuma abantu, abantu banje b’Abisirayeli, babagendagendako kandi bazobigarurira+. Muzobabera intoranwa kandi ntimuzopfa musubiye kubahekura+.”»

13 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko bababwira ngo: ‘Muri igihugu kirotsa abantu, kigahekura amahanga yaco’”, 14 “ntuzokwongera rero kurotsa abantu canke guhekura amahanga yawe”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 15 “Sinzosubira kwemera ngo amahanga agutuke canke ngo abantu bagucokore+, kandi nawe ntuzokwongera gutsitaza amahanga yawe”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

16 Yehova yongera kumbwira ati: 17 «Mwana w’umuntu, igihe Abisirayeli baba mu gihugu cabo, baragihumanije kubera ingeso zabo n’ibikorwa vyabo+. Kuri jewe, ingeso zabo zari zimeze nk’ubuhumane bwo mu butinyanka+. 18 Naciye ndabasukako uburake bwanje kubera amaraso basheshe mu gihugu+, no kubera bahumanishije igihugu ibigirwamana vyabo bisesemye*+. 19 Naciye ndabasanzaza mu mahanga, ndabashwiragiza mu bihugu+. Nabaciriye urubanza ruhuye n’ingeso zabo be n’ibikorwa vyabo. 20 Ariko igihe bashika muri ayo mahanga, abantu barahumanije izina ryanje ryeranda+ mu kuvuga ku bijanye na bo ngo: “Aba ni ba bantu ba Yehova, mugabo babwirijwe kuva mu gihugu ciwe.” 21 Nzokwitaho rero izina ryanje ryeranda Abisirayeli bahumanije mu mahanga bagiyemwo+.»

22 «Bwira rero Abisirayeli uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Singira ndabikore ku bwanyu, yemwe Bisirayeli, ahubwo ngira ndabikore ku bw’izina ryanje ryeranda, izina mwahumanije mu mahanga mwagiyemwo+.’” 23 “Nzokweza koko izina ryanje rihambaye+ ryahumanijwe mu mahanga, rimwe mwahumanije muri ayo mahanga. Kandi amahanga azomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “ninerekana imbere yayo ko ndi mweranda biciye ku vyo nzobakorera. 24 Nzobakura mu mahanga, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu vyose, ndabazane mu gihugu canyu+. 25 Nzobamijagirako amazi atyoroye, mube abatyoroye+. Nzobakurako ubuhumane bwanyu bwose+ n’ibigirwamana vyanyu vyose bisesemye+. 26 Nzobaha umutima mushasha+, ndabashiremwo impwemu nshasha+. Nzokura mu mubiri wanyu umutima w’ibuye+, ndabahe umutima w’inyama*. 27 Nzoshira impwemu yanje muri mwebwe, ntume mugendera mu mategeko yanje+, mwubahirize ingingo nashinze muzisunge. 28 Muzoheza mwibere mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu+.”

29 “Nzobakiza ubuhumane bwanyu bwose, mpamagare intete ndazigwize, kandi nta nzara nzobateza+. 30 Nzotuma ivyama ku biti n’umwimbu wo mu mirima bigwira, kugira ngo ntimuze mwigere musubira kumaramara mu mahanga kubera inzara+. 31 Muzoheza mwibuke ingeso zanyu mbi n’ibikorwa vyanyu bibi. Muzokwumva mwiyanse cane kubera amakosa yanyu no kubera ibintu bishisha mukora+. 32 Mugabo mumenye ko ntagira ndabikore ku bwanyu+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Nimumaramare riho, muteterwe, kubera ingeso zanyu, yemwe Bisirayeli!”

33 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umusi nabogeje nkabakurako amakosa yanyu yose, nzotuma ibisagara bisubira kubamwo abantu+, ahatikijwe hasubire kwubakwa+. 34 Igihugu cacitse umusaka, n’abahita bose bakabona ko ari umusaka, kizorimwa. 35 Abantu bazovuga bati: ‘Igihugu cahora ari umusaka gisigaye kimeze nka rya tongo rya Edeni+. Ibisagara vyari vyatikijwe bigasamburwa, bigasigara ari umusaka, bisigaye bikingijwe ibihome, kandi bibamwo abantu+.’ 36 Amahanga abakikuje azoba asigaye, azomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nubatse ivyari vyasambuwe, ngateragira ahari hasigaye ari umusaka. Jewe Yehova nabivuze kandi nabikoze+.”

37 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nzoreka kandi Abisirayeli bansabe kubagwiriza abantu nk’ubusho, kandi nzobikora. 38 Ibisagara vyari vyaratikijwe bizokwuzura abantu benshi nk’amasho+, nka kurya kw’isinzi ry’aberanda, nka kurya kw’amasho i Yeruzalemu* mu biringo vy’imisi mikuru yaho+. Bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

37 Ububasha* bwa Yehova bwanjeko, maze biciye ku mpwemu yiwe, Yehova arantwara antereka hagati mu kiyaya+. Cari cuzuye amagufa. 2 Araheza ancisha irya n’ino yayo, maze mbona amagufa menshi cane muri ico kiyaya, kandi yari yumye cane+. 3 Ambaza ati: «Mwana w’umuntu, mbega aya magufa yoba mazima?» Nca mvuga nti: «Mukama Segaba Yehova, ni wewe wobimenya+.» 4 Aca ambwira ati: «Vuga ubuhanuzi bujanye n’aya magufa, uyabwire uti: “Yemwe mwa magufa yumye, nimwumve ijambo rya Yehova:

5 Umukama Segaba Yehova abwiye aya magufa ati: ‘Ngira ntume impemu zibinjiramwo maze mube bazima+. 6 Ndabashirako imitsi n’inyama, ndabapfukishe urukoba, ndabashiremwo impemu maze mube bazima. Kandi muraza kumenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”»

7 Nuko mvuga ubuhanuzi nk’uko nari ntegetswe. Nkivuga ubuhanuzi numva urwamo, urwamo rw’ibintu bibomborana, maze ya magufa atangura kwegerana, igufa ryegera irindi. 8 Maze mbona imitsi n’inyama biza kuri ayo magufa, hanyuma urukoba rurayapfuka. Mugabo nta mpemu zari bwayinjiremwo.

9 Maze ambwira ati: «Bwira ubuhanuzi umuyaga. Vuga ubuhanuzi mwana w’umuntu, ubwire umuyaga uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ingo wa muyaga*, uze uvuye kuri ya miyaga ine, uhuhutire kuri aba bantu bishwe kugira ngo babe bazima.’”»

10 Ndaheza mvuga ubuhanuzi nk’uko yari antegetse, maze impemu* ziyazamwo, atangura kuba mazima, arahagarara+. Zari ingabo nyinshi cane.

11 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, aya magufa ni Abisirayeli bose+. Bavuga ngo: “Amagufa yacu yarumye n’icizigiro cacu caraheze+. Twarahonye.” 12 Vuga rero ubuhanuzi, ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzokwugurura imva zanyu+, ndabakureyo bantu banje, ndabajane mu gihugu ca Isirayeli+. 13 Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninugurura imva zanyu, nkabakurayo, yemwe bantu banje+.’” 14 “Nzobashiramwo impwemu yanje mube bazima+, ndabashire mu gihugu canyu. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nabivuze kandi nabikoze”, ni ko Yehova avuze.»

15 Yehova yongera kumbwira ati: 16 «Mwana w’umuntu, tora agakoni ukandikeko ngo: “Aka Yuda n’Abisirayeli bari kumwe na we*+.” Uheze utore akandi gakoni, ukandikeko ngo: “Aka Yozefu, agakoni ka Efurayimu n’Abisirayeli bose bari kumwe na we*+.” 17 Maze kamwe ukegereze akandi kugira ngo ducike agakoni kamwe gusa mu kuboko kwawe+. 18 Abantu bo mw’ihanga ryanyu nibakubaza ngo: “Aho ntiwotubwira ico ivyo bisobanura?” 19 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzotora agakoni ka Yozefu n’imiryango ya Isirayeli bari kumwe, agakoni kari mu kuboko kwa Efurayimu, ndagashire hamwe n’agakoni ka Yuda. Nzotuma utwo dukoni tuba agakoni kamwe+, ducike agakoni kamwe mu kuboko kwanje.’” 20 Utwo dukoni wandikako, uze udufate mu kuboko kugira batubone.

21 Maze ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzokura Abisirayeli mu mahanga bagiyemwo, ndabakoranirize hamwe ndabakuye impande zose, ndabazane mu gihugu cabo+. 22 Nzobagira ihanga rimwe mu gihugu+, ku misozi ya Isirayeli, kandi umwami umwe ni we azobaganza bose+. Ntibazosubira kuba amahanga abiri canke ngo basubire kugaburwamwo ubwami bubiri+. 23 Ntibazosubira kwihumanisha ibigirwamana vyabo bisesemye* n’ibintu bishisha bakora be n’ibicumuro vyabo vyose+. Nzobakiza ubuhemu bwabo bwose bwatumye bacumura, ndabahumanure. Bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo+.

24 Umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo+, kandi bose bazogira umwungere umwe+. Bazokurikiza ingingo nashinze, bubahirize neza ivyagezwe vyanje+. 25 Bazokwibera mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, kimwe ba sogokuruza banyu babayemwo+, bakibemwo ibihe vyose+, bo n’abana* babo be n’abazobakomokako+. Umusavyi wanje Dawidi azoba umukuru* wabo ibihe vyose+.

26 Nzogirana na bo isezerano ry’amahoro+. Iryo sezerano nzogirana na bo rizoba iry’ibihe vyose. Nzobaha igihugu, ndabagwize+, hagati muri bo ndahashire ikibanza canje ceranda ibihe vyose. 27 Ihema ryanje* rizoba riri kumwe na bo*. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+. 28 Ikibanza canje ceranda nicaba hagati muri bo ibihe vyose, amahanga azomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova ndiko ndeza Isirayeli+.’”»

38 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe Gogi wo mu gihugu ca Magogi+, wa mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizomushikira+. 3 Uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nkurwanye, ewe Gogi, wewe mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali. 4 Nzotuma uhindukira, nshire ingobe* mu mibangabanga yawe+, ndagusohorane n’ingabo zawe zose+, amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye impuzu nzizanziza. Ni isinzi rinini ryitwaje inkinzo zagutse n’inkinzo ntonto*, bose bakaba barwanisha inkota. 5 Bazoba bari kumwe n’Ubuperesi, Etiyopiya na Puti+, bose bafise inkinzo ntonto n’inkofero. 6 Hazoba kandi hari Gomeri n’ingabo zaho zose, abakomoka kuri Togaruma+ bo mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko, n’ingabo zabo zose. Amahanga menshi azoba ari kumwe nawe+.

7 Itegure, mwitegure mwe n’ingabo zawe zikoraniye aho uri, ubabere umukuru*.

8 Haheze imisi myinshi, ivyawe bizokwitabwaho*. Mu myaka ya nyuma, uzotera igihugu kibamwo abantu bakize inkota, bagaruka kubayo. Bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga menshi, bazanwa ku misozi ya Isirayeli yari imaze igihe kirekire yaratikijwe. Ababa muri ico gihugu bagarukanywe bakuwe mu mahanga, kandi bose bibera mu mutekano+. 9 Uzoza kubatera nka kurya kw’igihuhusi, upfuke igihugu nk’ibicu, mwe n’ingabo zawe zose be n’amahanga menshi ari kumwe nawe.’”

10 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi hazoza ivyiyumviro bibi mu mutima wawe, utegure umugambi mubi. 11 Uzovuga uti: ‘Ngira ntere igihugu c’ibigwati bidakingiye*+. Ngira ntere abibereye mu mutekano, ata kibahungabanya, bose bakaba bibera mu bigwati bidakingijwe inzitiro, ivyugazo canke amarembo.’ 12 Uzobikora kugira ngo usahure ibintu vyinshi ubinyage, ngo utere ibibanza vyatikijwe bisigaye bibamwo abantu+ be n’ihanga ry’abantu bagarukanywe bagakoranirizwa hamwe bakuwe mu mahanga+. Ni abantu bafise amatungo n’ibintu vyinshi+, bakaba bibera hagati na hagati y’isi.

13 Ab’i Sheba+ n’i Dedani+ n’abadandaza b’i Tarushishi+ n’abarwanyi* baho bose bazokubwira bati: ‘Uje gutera kugira uronke ibintu vyinshi usahura? Mbega wakoranije ingabo zawe kugira ngo unyage ifeza n’inzahabu, utware amatungo n’ibintu, usahure ibintu vyinshi cane?’”

14 Vuga rero ubuhanuzi, mwana w’umuntu, ubwire Gogi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umusi abantu banje b’Abisirayeli bazoba bibereye mu mutekano, ugira ngo ntuzobimenya+? 15 Uzoza uvuye ahantu hawe, mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+, wewe n’amahanga menshi ari kumwe nawe, bose bagendera ku mafarasi. Ni isinzi rinini, emwe ingabo nyinshi cane+. 16 Uzoza gutera abantu banje b’Abisirayeli nka kurya kw’ibicu bipfutse igihugu. Mu misi y’iherezo, nzokuzana gutera igihugu canje+, kugira ngo amahanga amenye jewe, ninerekana ko ndi mweranda imbere yayo biciye ku vyo nzogukorera, ewe Gogi+!’”

17 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega nturi wa wundi nyene navuga mu misi ya kera biciye ku basavyi banje, abahanuzi ba Isirayeli? Bamaze imyaka myinshi bamenyesha yuko woje gutera Abisirayeli.”

18 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi, umusi Gogi yaje gutera igihugu ca Isirayeli, uburake bwanje bwinshi buzoca buduga+. 19 Nzovugana ishaka n’uburake bwaka umuriro. Kuri uwo musi, hazoba nyamugigima ikomeye mu gihugu ca Isirayeli. 20 Kubera jewe, amafi yo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyo mw’ishamba, ivyikwega hasi vyose n’abantu bose bari kw’isi, bizojugumira. Imisozi izotemba+, imanga zisenyuke n’inzitiro zose zigwe hasi.”

21 “Nzohamagara inkota imutere ku misozi yanje yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Umwe wese azokoresha inkota yiwe mu kwica mwenewabo+. 22 Nzoshitsa urubanza namuciriye*, ndamuteze ikiza+, ntume haseseka amaraso. Nzogwisha kuri we imvura y’isegenya, urubura+, umuriro+ n’amazuku*+, ndabigwishe no ku ngabo ziwe no ku mahanga menshi ari kumwe na we+. 23 Nzokwininahaza koko, nerekane ko ndi mweranda, nongere nimenyekanishe imbere y’amahanga menshi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

39 Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi bw’ibizoshikira Gogi+, umubwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nkurwanye, ewe Gogi, wewe mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali+. 2 Nzotuma uhindukira, ndakuyobore, ntume uza uvuye mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+, ndakuzane ku misozi ya Isirayeli. 3 Nzokubita umuheto uri mu kubamfu kwawe ukoroke, ntume n’imyampi iri mu kuryo kwawe ikoroka. 4 Uzogwa ku misozi ya Isirayeli+, wewe n’ingabo zawe zose be n’amahanga azoba ari kumwe nawe. Nzogutanga uribwe n’inyoni zihiga z’ubwoko bwose be n’ibikoko vyo mw’ishamba+.’”

5 “Uzogwa ku gahinga+, kuko ari jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

6 “Nzorungika umuriro kuri Magogi no ku bantu bibera mu mutekano mu mazinga+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. 7 Nzotuma izina ryanje ryeranda rimenyekana mu bantu banje b’Abisirayeli, kandi sinzokwongera kureka ngo izina ryanje ryeranda rihumanywe. Amahanga azomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+, Umweranda muri Isirayeli+.”

8 “Emwe, bigira bibe, kandi bizoranguka”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Uwo ni wa musi navuga. 9 Ababa mu bisagara vyo muri Isirayeli bazosohoka batore ibirwanisho babicane: uri inkinzo ntonto* n’inkinzo zagutse, imiheto n’imyampi, ubuhiri barwanisha* n’amacumu. Bazomara imyaka indwi babicana+. 10 Ntibizokenerwa ko baja gutoragura inkwi mu gahinga canke ngo baje gusenya mw’ishamba, kuko ivyo birwanisho ari vyo bazocana.”

“Bazosahura abahora babasahura, banyage abahora babanyaga”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

11 “Kuri uwo musi Gogi+ nzomuha imva aho muri Isirayeli, mu mubande ucamwo abagiye mu buseruko bw’ikiyaga, kandi uwo mubande uzozibira abarengana. Aho ni ho bazohamba Gogi n’amasinzi yiwe yose, kandi bazohita umubande wa Hamoni-Gogi*+. 12 Abisirayeli bazomara amezi indwi babahamba kugira bahumanure igihugu+. 13 Abanyagihugu bose bazofadikanya kubahamba, kandi ivyo bizotuma baba rurangiranwa umusi nzokwininahaza+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

14 “Hari abantu bazoshingwa igikorwa co kwama baca mu gihugu, bahamba ibiziga bitarahambwa kugira bagihumanure. Bazobandanya kubirondera gushika amezi indwi arangiye. 15 Abaca mu gihugu baramutse babonye igufa ry’umuntu, bazoca bashira ikimenyetso iruhande yaryo. Abajejwe guhamba bazoheza barihambe mu mubande wa Hamoni-Gogi+. 16 Aho hantu hazoba n’igisagara citwa Hamona*. Bazohumanura igihugu+.”

17 Mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Bwira inyoni z’ubwoko bwose n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba, uti: ‘Nimukoranire hamwe muze. Nimukoranire irya n’ino y’ikimazi ndiko ndabategurira, ikimazi gihambaye ku misozi ya Isirayeli+. Muzorya inyama, munywe n’amaraso+. 18 Muzorya inyama z’abakomakomeye, munywe n’amaraso y’abakuru bo mw’isi. Abo bose ni impfizi z’intama, imyagazi y’intama, impfizi z’impene n’iz’inka, ibitungwa vyose binuze vy’i Bashani. 19 Muzorya ibinure muhage munywe n’amaraso muborerwe, kubera ikimazi ndiko ndabategurira.’”

20 “Ku meza yanje, muzorya muhage amafarasi n’abatwara imikogote, abakomakomeye n’abarwanyi b’ubwoko bwose+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

21 “Nzokwerekana ubuninahazwa bwanje mu mahanga, kandi amahanga yose azobona urubanza nzoba nashikije, n’ububasha* nzoba nerekanye muri yo+. 22 Kuva uwo musi, Abisirayeli bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo. 23 Kandi amahanga azomenya vy’ukuri yuko Abisirayeli bagiye mu bunyagano kubera ikosa ryabo, kubera bampemukiye+. Naciye rero ndabahisha mu maso hanje+, ndabareka bagwa mu maboko y’abansi babo+, bicishwa inkota bose. 24 Nabakoreye ibihwanye n’ubuhumane bwabo be n’ibicumuro vyabo, ndabahisha mu maso hanje.”

25 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Nzogarukana aba Yakobo bagizwe imbohe+, ngirire imbabazi ihanga ryose rya Isirayeli+. Nzorwanira izina ryanje* ryeranda nivuye inyuma+. 26 Nibamara guteterwa kubera ibintu vyose vy’ubuhemu bankoreye+, bazokwibera mu mutekano mu gihugu cabo, ata n’umwe abatera ubwoba+. 27 Ninabagarukana ndabakuye mu mahanga, nkabakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vy’abansi babo+, amahanga menshi azobona ko ndi mweranda biciye ku vyo nzobakorera+.”

28 “Bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova Imana yabo, ninabarungika mu bunyagano mu mahanga maze nkabakoraniriza hamwe nkabagarukana mu gihugu cabo, ata n’umwe asigaye inyuma+. 29 Sinzokwongera kubahisha mu maso hanje+, kuko nzosuka impwemu yanje ku Bisirayeli+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

40 Mu mwaka ugira 25 kuva tujanywe mu bunyagano+, mu ntango z’umwaka, ku musi ugira cumi w’ukwezi, hakaba hari mu mwaka ugira 14 igisagara gifashwe+, kuri uwo musi nyene ububasha* bwa Yehova bwaranjeko bunjana muri ico gisagara+. 2 Biciye ku vyo nariko nderekwa n’Imana, Imana yanjanye mu gihugu ca Isirayeli, intereka ku musozi muremure cane+ wariko inyubako imeze nk’igisagara mu bumanuko.

3 Inshikanyeyo, nabonye umugabo afise ishusho isa n’umujumpu+. Yari afise mu kuboko umugozi ukozwe mu nyuzi* n’irenga ryo gupimisha*+, akaba yari ahagaze mw’irembo. 4 Uwo mugabo ambwira ati: «Mwana w’umuntu, itegereze neza, wumvirize witonze, ushire umutima ku vyo ngira ndakwereke vyose, kuko ari co gituma wazanywe ng’aha. Uze ubwire Abisirayeli ivyo uza kubona vyose+.»

5 Maze mbona uruzitiro rukikuje ikigo kirimwo urusengero*. Uwo mugabo yari afise mu kuboko irenga ryo gupimisha rireha n’intambwe zitandatu (buri ntambwe yongeweko uburebure bungana n’ubwaguke bw’ikiganza)*. Atangura gupima urwo ruzitiro. Intimbatimba yarwo yangana n’irenga rimwe, uburebure bwarwo bw’amahagarara bukangana n’irenga rimwe.

6 Hanyuma aza kw’irembo riraba mu buseruko+, adugana ku ngazi zaryo. Aca apima ubwinjiriro bw’iryo rembo. Ubwaguke bwaho bwangana n’irenga rimwe. Hariho n’ubundi bwinjiriro bufise ubwaguke bw’irenga rimwe. 7 Buri cumba c’abarinzi+ cari gifise uburebure bw’irenga rimwe n’ubwaguke bw’irenga rimwe. Hagati y’icumba n’ikindi hari intambwe zitanu. Ubwinjiriro bw’irembo bushikana kw’ibaraza ry’irembo riraba indani bwangana n’irenga rimwe.

8 Apima ibaraza rya nya rembo riraba indani, ringana n’irenga rimwe. 9 Araheza apima ibaraza rya nya rembo, ringana n’intambwe umunani. Apima inkingi zaryo zo mu mbavu, zingana n’intambwe zibiri. Ibaraza rya nya rembo ryari ku ruhande ruraba indani.

10 Kuri buri ruhande rw’irembo ryo mu buseruko hari ivyumba bitatu vy’abarinzi. Uko ari bitatu vyarangana, n’inkingi zo mu mbavu kuri izo mpande zibiri zikangana.

11 Maze apima ubwaguke bw’ishikiro rya nya rembo, buba intambwe 10. Uburebure bwa nya rembo bwari intambwe 13.

12 Kuri buri ruhande, igice kizitiye c’imbere y’ivyumba vy’abarinzi cangana n’intambwe imwe. Kimwe cose mu vyumba vy’abarinzi biri ku mpande zompi cangana n’intambwe zitandatu.

13 Maze apima irembo kuva ku gisenge c’icumba kimwe c’abarinzi* gushika ku gisenge c’ikindi cumba. Ryari rifise ubwaguke bw’intambwe 25. Ubwinjiriro bw’icumba kimwe bwarabana n’ubw’ikindi+. 14 Maze apima inkingi zo mu mbavu, zikaba zari zifise uburebure bw’intambwe 60. Apima n’inkingi zo mu mbavu z’amarembo ari irya n’ino y’ikigo. 15 Kuva imbere y’ishikiro ry’irembo gushika imbere y’ibaraza mu ruhande rw’indani rw’irembo, hangana n’intambwe 50.

16 Imbere mw’irembo, ivyumba vy’abarinzi vyo ku mpande zompi hamwe n’inkingi zavyo zo mu mbavu vyari bifise amadirisha agenda araga*+. Imbere mu mabaraza na ho nyene hari amadirisha ku mpande. Kuri izo nkingi zo mu mbavu hari amashusho y’ibigazi+.

17 Arahava anzana mu kigo c’inyuma, maze mbona ibibanza vy’uburiro*+, mbona kandi hirya no hino y’ikigo hashashe amabuye. Aho hantu hashashe amabuye hari ibibanza 30 vy’uburiro. 18 Ahashashe amabuye iruhande y’amarembo hari hafise ubwaguke bwangana n’uburebure bw’ayo marembo. Urwo ni rwo ruhande rw’epfo rw’ahashashe amabuye.

19 Maze apima* kuva imbere y’irembo ryo hepfo gushika ku mubari w’ikigo c’indani. Hangana n’intambwe 100 mu buseruko no mu buraruko.

20 Ikigo c’inyuma cari gifise irembo riraba mu buraruko. Araheza apima uburebure bwaryo n’ubwaguke bwaryo. 21 Ku mpande zompi hari ivyumba bitatu vy’abarinzi. Inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyangana n’ivy’irembo rya mbere. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 22 Amadirisha yaryo n’ibaraza ryaryo n’amashusho yaryo y’ibigazi+ vyangana n’ivy’irembo ryo mu buseruko. Kugira bashikeyo baduga ingazi indwi, kandi ibaraza ryaryo ryari imbere yazo.

23 Mu kigo c’indani hari irembo ryarabana n’irembo ryo mu buraruko, hakaba n’irirabana n’iryo mu buseruko. Kuva kw’irembo rimwe gushika ku rindi yapimye intambwe 100.

24 Hanyuma anzana amaja mu bumanuko, maze mbona irembo mu bumanuko+. Apima inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo. Vyangana n’ivy’ayandi marembo. 25 Ku mpande zaryo n’iz’ibaraza ryaryo hari amadirisha ameze nka ya madirisha yandi. Ryari rifise uburebure bw’intambwe* 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 26 Hari ingazi indwi zishikana kuri ryo+, kandi ibaraza ryaryo ryari imbere yazo. Ryari rifise amashusho y’ibigazi ku nkingi zaryo zo mu mbavu, imwe hino iyindi hirya.

27 Ikigo c’indani cari gifise irembo riraba mu bumanuko. Apima kuva kw’irembo gushika ku rindi amaja mu bumanuko. Hangana n’intambwe 100. 28 Hanyuma anzana mu kigo c’indani ancishije mw’irembo ryo mu bumanuko. Apimye iryo rembo ryo mu bumanuko, ryangana n’ayandi marembo. 29 Ivyumba vyaryo vy’abarinzi n’inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyangana n’ivy’ayandi marembo. Ku mpande zaryo n’iz’ibaraza ryaryo hari amadirisha. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25+. 30 Hari amabaraza irya n’ino. Yari afise uburebure bw’intambwe 25 n’ubwaguke bw’intambwe 5. 31 Ibaraza ryaryo ryaraba mu kigo c’inyuma, kandi ku nkingi zaryo zo mu mbavu hari amashusho y’ibigazi+. Hari ingazi umunani zishikana kuri ryo+.

32 Anzana mu kigo c’indani ancishije mu buseruko, araheza apima irembo. Ryangana n’ayandi marembo. 33 Ivyumba vyaryo vy’abarinzi n’inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyangana n’ivy’ayandi marembo. Ku mpande zaryo n’iz’ibaraza ryaryo hari amadirisha. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 34 Ibaraza ryaryo ryaraba mu kigo c’inyuma, kandi ku nkingi zaryo zo mu mbavu uko ari zibiri, hari amashusho y’ibigazi. Hari ingazi umunani zishikana kuri ryo.

35 Araheza anzana mw’irembo ryo mu buraruko+, araripima. Ryangana n’ayandi marembo. 36 Ivyumba vyaryo vy’abarinzi n’inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyari bimeze nk’ivy’ayandi marembo. Ryari rifise amadirisha irya n’ino. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 37 Inkingi zaryo zo mu mbavu zaraba mu kigo c’inyuma, kandi ku nkingi zaryo zo mu mbavu uko ari zibiri hari amashusho y’ibigazi. Hari ingazi umunani zishikana kuri ryo.

38 Hafi y’inkingi zo mu mbavu z’amarembo hari ikibanza c’uburiro gifise ubwinjiriro. Aho ni ho barongera amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.

39 Irya n’ino y’ibaraza ry’irembo hari imeza zibiri bakerererako amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ay’igicumuro+ n’ayo kwagirwa n’icaha+. 40 Ku nzira ija kw’irembo ryo mu buraruko hari imeza zibiri hanze kw’ishikiro. No ku rundi ruhande rw’ibaraza ry’irembo hari imeza zibiri. 41 Ku ruhande rumwe rw’irembo hari imeza zine, ku rundi hakaba zindi zine. Zose hamwe zari umunani. Ni zo bakerererako ibimazi. 42 Imeza zine z’amashikanwa aturirwa uko yakabaye zari zibajwe mu mabuye. Zari zifise uburebure bw’intambwe imwe n’igice, ubwaguke bw’intambwe imwe n’igice n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe imwe. Kuri zo ni ho batereka ivyo bakoresha mu gukerera amashikanwa aturirwa be n’ibimazi. 43 Utuntu baterekako ibintu dufise ubwaguke nk’ubw’ikiganza twari dufashe irya n’ino ku mpome z’indani. Inyama z’amashikanwa bazitereka ku mameza.

44 Hanze y’irembo ry’indani hari ibibanza vy’uburiro vy’abaririmvyi+. Vyari mu kigo c’indani hafi y’irembo ryo mu buraruko, biraba mu bumanuko. Hari ikindi kibanza c’uburiro cari hafi y’irembo ryo mu buseruko kiraba mu buraruko.

45 Ambwira ati: «Iki kibanza c’uburiro kiraba mu bumanuko ni ic’abaherezi bitwararika ibikorwa vyo mu rusengero+. 46 Ikibanza c’uburiro kiraba mu buraruko ni ic’abaherezi bitwararika igikorwa kijanye n’igicaniro+. Ni bene Sadoki+ bakomoka ku Balewi bajejwe kwegera Yehova kugira ngo bamukorere+.»

47 Hanyuma apima ikigo c’indani. Cari gifise uburebure bw’intambwe 100 n’ubwaguke bw’intambwe 100: cari ikwadarato. Igicaniro cari imbere y’urusengero.

48 Araheza anzana mw’ibaraza ry’urusengero+, apima inkingi yo mu mbavu y’iryo baraza. Yari ifise intambwe zitanu ku ruhande rumwe na zitanu ku rundi. Irembo ryari rifise ubwaguke bw’intambwe zitatu ku ruhande rumwe na zitatu ku rundi.

49 Iryo baraza ryari rifise uburebure bw’intambwe 20 n’ubwaguke bw’intambwe 11*. Kugira bashikeyo baduga ingazi. Iruhande y’ibikingi vyo mu mbavu hari inkingi, imwe hino iyindi hirya+.

41 Araheza anzana Aheranda*, hanyuma apima inkingi zo mu mbavu. Zari zifise ubwaguke bw’intambwe* zitandatu ku ruhande rumwe na zitandatu ku rundi. 2 Ubwaguke bw’ubwinjiriro bwari intambwe cumi. Impome zaho irya n’ino* zapima intambwe zitanu ku ruhande rumwe na zitanu ku rundi. Hanyuma apima uburebure bwaho. Bwari intambwe 40, ubwaguke na bwo intambwe 20.

3 Maze yinjira indani*, apima inkingi y’ubwinjiriro yo mu mbavu. Yari ifise intimbatimba y’intambwe zibiri. Ubwinjiriro bwari bufise ubwaguke bw’intambwe zitandatu. Impome z’ubwinjiriro irya n’ino zapima* intambwe indwi. 4 Hanyuma apima icumba kirabana n’Aheranda. Cari gifise uburebure bw’intambwe 20 n’ubwaguke bw’intambwe 20+. Aca ambwira ati: «Aha ni Aheranda cane+.»

5 Maze apima uruhome rw’urusengero. Rwari rufise intimbatimba y’intambwe zitandatu. Ivyumba vyo mu mbavu bikikuje urusengero vyari bifise ubwaguke bw’intambwe zine+. 6 Ivyumba vyo mu mbavu vyari mu magorofa atatu bigerekeranye. Igorofa imwimwe yose yari ifise ivyumba 30. Uruhome rw’urusengero rwari rufise ahantu haniguye irya n’ino, ku buryo ibibaho vy’ivyumba vyo mu mbavu bihishimikiza, ntivyinjire muri urwo ruhome+. 7 Ku mpande zibiri z’urusengero hari akayira kagenda kazunguruka*. Uko kaduga mu vyumba vyo hejuru+ ni ko kagenda karaguka. Uko umuntu yaduga mw’igorofa yo hejuru avuye mu yo hasi, akajayo aciye mw’igorofa yo hagati, hagenda haraguka.

8 Maze mbona ahantu hataramutse hirya no hino y’urusengero. Imishinge y’ivyumba vyo mu mbavu yareha n’irenga rikwiye ry’intambwe zitandatu gushika mu mfuruka. 9 Uruhome rwo hanze rw’ivyumba vyo mu mbavu rwari rufise ubwaguke bw’intambwe zitanu. Iruhande y’inyubakwa y’urusengero igizwe n’ivyumba vyo mu mbavu, hariho ahantu hagaragara*.

10 Hagati y’urusengero n’ibibanza vy’uburiro*+, hari ikibanza c’ubwaguke bw’intambwe 20 kuri buri ruhande. 11 Ku ruhande rwo mu buraruko hari ubwinjiriro hagati y’ivyumba vyo mu mbavu na ha hantu hagaragara, hakaba n’ubundi bwinjiriro ku ruhande rwo mu bumanuko. Aho hantu hagaragara hari hafise ubwaguke bw’intambwe zitanu irya n’ino.

12 Inyubakwa yari mu burengero irabana na ha hantu hagaragara yari ifise ubwaguke bw’intambwe 70 n’uburebure bw’intambwe 90. Uruhome rw’iyo nyubakwa rwari rufise intimbatimba y’intambwe zitanu impande zose.

13 Hanyuma apima urusengero. Rwari rufise uburebure bw’intambwe 100. Ha hantu hagaragara, ya nyubakwa* n’impome zayo, na vyo nyene vyari bifise uburebure bw’intambwe 100. 14 Uruhande rw’imbere rw’urusengero ruraba mu buseruko na ha hantu hagaragara, vyari bifise ubwaguke bw’intambwe 100.

15 Hanyuma apima uburebure bw’inyubakwa y’inyuma y’urusengero yarabana n’ahantu hagaragara, apima n’uburebure bw’utubaraza twayo hirya no hino. Bwangana n’intambwe 100.

Yongera apima Aheranda, Aheranda cane+, amabaraza y’ikigo, 16 ubwinjiriro butandukanye, amadirisha agenda araga*+ n’utubaraza vyari muri ivyo bibanza bitatu. Hafi y’ubwinjiriro hari hahometse imbaho+ kuva hasi gushika ku madirisha, kandi nya madirisha yari akikujwe n’utubaho*. 17 Apima hejuru y’ubwinjiriro, indani mu rusengero no hanze be n’uruhome rwose ruhakikuje. 18 Hari hashushanijweko* abakerubi+ n’ibigazi+. Hagati y’abakerubi babiri hari ikigazi, kandi umukerubi wese yari afise mu maso habiri. 19 Igice gisa n’umuntu caraba ikigazi ku ruhande rumwe, igice gisa n’intambwe* na co kikaraba ikigazi ku rundi ruhande+. Ukwo ni ko ayo mashusho yari ashushanijwe hose mu rusengero. 20 Kuva hasi gushika hejuru y’ubwinjiriro, hari hashushanijwe abakerubi n’ibigazi ku ruhome rw’urusengero.

21 Ibishimaryango* vy’urusengero vyari ikwadarato+. Imbere y’ahantu heranda* hari ikintu kimeze 22 nk’igicaniro gikozwe mu mbaho+ c’intambwe zitatu z’amahagarara n’intambwe zibiri z’uburebure. Cari gifise inkingi mu mfuruka. Intebe* yaco n’impande zaco vyari bikozwe mu giti. Araheza ambwira ati: «Iyi ni yo meza iri imbere ya Yehova+.»

23 Aheranda n’Aheranda cane hari imiryango ibiribiri+. 24 Umwumwe wose muri iyo miryango wari ugizwe n’inzugi zibiri zizunguruka. 25 Ku miryango y’urusengero hari hashushanijwe abakerubi n’ibigazi nka kumwe kwo ku mpome+. Hanze kw’ibaraza hari akantu karengako hejuru kameze nk’igisenge, gakozwe mu mbaho. 26 Hari amadirisha agenda araga+ n’amashusho y’ibigazi ku mpande zompi z’ibaraza no ku vyumba vy’urusengero vyo mu mbavu, no hafi y’utuntu turengako hejuru tumeze nk’igisenge.

42 Araheza anjana mu kigo c’inyuma amaja mu buraruko+. Anshikana ku gice kirimwo ibibanza vy’uburiro cari iruhande ya ha hantu hagaragara+, mu buraruko bw’inyubakwa iri inyuma y’urusengero*+. 2 Guhera ku bwinjiriro bwo mu buraruko, ico gice cari gifise uburebure bw’intambwe* 100 n’ubwaguke bw’intambwe 50. 3 Ico gice cari giherereye hagati y’ikigo c’indani, icari gifise ubwaguke bw’intambwe 20+, be na ha hantu hashashe amabuye mu kigo c’inyuma. Utubaraza twaho twararabana kandi twari mu magorofa atatu. 4 Imbere y’ibibanza vy’uburiro* hari inzira+ y’indani y’ubwaguke bw’intambwe 10 n’uburebure bw’intambwe 100*. Ubwinjiriro bw’ivyo bibanza bwaraba mu buraruko. 5 Ibibanza vy’uburiro vyo hejuru vyaraga kuruta ivyo mw’igorofa yo hasi n’iyo hagati kubera ko twa tubaraza twabirya ikibanza. 6 Vyari mu magorofa atatu, kandi nta nkingi vyari bifise nka za nkingi z’ibigo. Ni co gituma ivyo hejuru vyaga gusumba ivyo mw’igorofa yo hasi n’iyo hagati.

7 Hanze hari uruzitiro rw’amabuye hafi y’ibibanza vy’uburiro biraba mu kigo c’inyuma. Rwarabana n’ibindi bibanza vy’uburiro rukagira uburebure bw’intambwe 50, 8 kuko uburebure bw’ibibanza vy’uburiro biraba mu kigo c’inyuma bwari intambwe 50, mugabo ibirabana n’urusengero bikagira uburebure bw’intambwe 100. 9 Hari ubwinjiriro mu buseruko bushikana mu bibanza vy’uburiro, umuntu azananye mu kigo c’inyuma.

10 Hariho n’ibibanza vy’uburiro mu kigo kizitijwe amabuye*. Urwo ruzitiro rw’amabuye rwari mu buseruko bwavyo. Ivyo bibanza vyari hafi ya ha hantu hagaragara na ya nyubakwa*+. 11 Imbere yavyo hari inzira imeze nk’imwe y’ibibanza vy’uburiro vyo mu buraruko+. Uburebure bwavyo bwarangana n’ubwaguke bwavyo bukangana. Imiryango yavyo isohoka yarasa, kandi vyari vyubatswe kumwe. Ubwinjiriro bwavyo 12 bwari bumeze nk’ubwinjiriro bw’ivyumba vy’uburiro vyari amaja mu bumanuko. Imbere y’uruzitiro rw’amabuye rwo mu buseruko rufatanye na vyo, hariho ubwinjiriro umuntu acamwo ku ntango y’iyo nzira+.

13 Maze ambwira ati: «Ibibanza vy’uburiro vyo mu buraruko n’ivyo mu bumanuko biri hafi ya ha hantu hagaragara+, ni ibibanza vy’uburiro vyeranda. Ni ho abaherezi begera Yehova barira amashikanwa meranda cane+. Kubera ko aho hantu ari heranda, ni ho bashira amashikanwa meranda cane, ishikanwa ry’intete, iry’igicumuro n’iryo kwagirwa n’icaha+. 14 Abaherezi bamaze kwinjira, ntibakwiye kuva mu kibanza ceranda ngo baje mu kigo c’inyuma batabanje kwambura impuzu bakora bambaye+, kuko ari nyeranda. Bazokwambara izindi mpuzu, babone kwegera aho abantu bemerewe gushika.»

15 Ahejeje gupima igice c’indani c’urusengero*, aca aransohokana ancishije mw’irembo riraba mu buseruko+, araheza apima aho hantu hose.

16 Apima uruhande rwo mu buseruko akoresheje irenga ryo gupimisha*. Kuva ku ruhande rumwe gushika ku rundi hari uburebure bw’amarenga 500, hisunzwe irenga ryo gupimisha.

17 Apima n’uruhande rwo mu buraruko. Rwari rufise uburebure bw’amarenga 500, hisunzwe irenga ryo gupimisha.

18 Apima n’uruhande rwo mu bumanuko. Rwari rufise uburebure bw’amarenga 500, hisunzwe irenga ryo gupimisha.

19 Arazunguruka, aja ku ruhande rwo mu burengero. Arahapima akoresheje irenga ryo gupimisha. Hari hafise uburebure bw’amarenga 500.

20 Apima aho hantu ku mpande zaho zine. Hari hakikujwe n’uruzitiro+ rufise uburebure bw’amarenga 500 n’ubwaguke bw’amarenga 500+, kugira aheranda hatandukane n’ahakorerwa ibintu bisanzwe+.

43 Hanyuma anjana kw’irembo riraba mu buseruko+. 2 Ndahabona ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli buzanana mu buseruko+. Ijwi ryiwe ryari rimeze nk’ijwi ry’amazi asuma cane+, kandi isi yamurikirwa n’ubuninahazwa bwiwe+. 3 Ivyo nabonye vyari bimeze nk’ivyo nari neretswe igihe naza* guhonya igisagara, kandi wamengo ni bimwe nari nabonye iruhande y’uruzi Kebari+. Naciye ngwa nubamye.

4 Maze ubuninahazwa bwa Yehova bwinjira mu rusengero* buciye mw’irembo riraba mu buseruko+. 5 Impwemu* ica iranterura, inzana mu kigo c’indani maze nsanga urusengero rwuzuye ubuninahazwa bwa Yehova+. 6 Hanyuma numva umuntu amvugisha ari mu rusengero, aca araza ahagarara iruhande yanje+. 7 Ambwira ati:

«Mwana w’umuntu, iki ni ikibanza c’intebe yanje y’ubwami+, kikaba n’ikibanza c’ibirenge vyanje+. Ni ho nzoba ibihe vyose hagati y’Abisirayeli+. Abisirayeli ntibazokwongera guhumanya izina ryanje ryeranda+, bo hamwe n’abami babo, biciye ku buhemu* bwabo no ku mivyimba y’abami babo* bapfuye. 8 Bashize ubwinjiriro bwabo iruhande y’ubwinjiriro bwanje, bashira n’igishimaryango cabo iruhande y’icanje, hagati yanje na bo hakaba uruhome gusa+. Ivyo vyatumye bahumanya izina ryanje ryeranda kubera ibintu bishisha bakora. Naciye rero ndabatikiza nshavuye+. 9 Nibigize kure yanje rero ubuhemu* bwabo n’imivyimba y’abami babo, nanje nzoheza mbe muri bo ibihe vyose+.

10 Mwana w’umuntu, dondorera Abisirayeli ukuntu urusengero rumeze+ kugira bamaramare kubera amakosa yabo+, kandi bakwiye kwiga imigero yarwo*. 11 Nibamaramara kubera ivyo bakoze vyose, uraca ubamenyesha imigero* y’urusengero, ukuntu rutunganije, imiryango yarwo isohoka be n’iyinjira+. Ubereke imigero yarwo yose n’ivyagezwe vyose birugenga, imigero yarwo yose n’amategeko yarwo yose. Uvyandikire imbere yabo kugira ngo bubahirize imigero yarwo yose, bakurikize n’ivyagezwe birugenga+. 12 Itegeko ry’urusengero ni iri: akarere kose gakikuje isonga ry’umusozi ni keranda cane+. Emwe, iryo ni ryo tegeko ry’urusengero.

13 Izi ni zo ngero z’igicaniro hafatiwe ku ntambwe+ (buri ntambwe yongeweko uburebure bungana n’ubwaguke bw’ikiganza)*. Umushinge waco mu mahagarara ureha n’intambwe imwe, ukagira n’ubwaguke bw’intambwe imwe. Imbiga igikikuje ifise ubwaguke bw’intambwe imwe y’ikiganza*. Uwo ni wo mushinge w’igicaniro. 14 Kuva ku mushinge uri hasi gushika ku gice gitoyi* kigikikuje hari intambwe zibiri, ubwaguke na bwo bukaba intambwe imwe. Kuva kuri ico gice gitoyi kigikikuje gushika ku gice kinini kigikikuje hari intambwe zine, ubwaguke na bwo bukaba intambwe imwe. 15 Iziko rya nya gicaniro rifise amahagarara y’intambwe zine, kandi kuri nya ziko ry’igicaniro hashinze amahembe ane+. 16 Iryo ziko ry’igicaniro ni ikwadarato. Rifise uburebure bw’intambwe 12 n’ubwaguke bw’intambwe 12+. 17 Impande zine z’igice kigikikuje zifise uburebure bw’intambwe 14 n’ubwaguke bw’intambwe 14. Imbiga ihakikuje ingana n’igice c’intambwe, umushinge w’igicaniro irya n’ino ukangana n’intambwe imwe.

Ingazi zaco ziraba mu buseruko.»

18 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Uku ni ko bizogenda igicaniro nicubakwa, kugira ngo gitangirweko amashikanwa aturirwa uko yakabaye, kimijagirweko n’amaraso+.”

19 “Abaherezi b’Abalewi bo mu ruvyaro rwa Sadoki+ begera hafi yanje kugira ngo bankorere, uze ubahe ishuri yo mu busho ngo ibe ishikanwa ry’igicumuro+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 20 “Uze utore makeyi ku maraso yayo, uyashire kuri ya mahembe ane y’igicaniro, ku mfuruka zine za ca gice kinini kigikikuje no ku mbiga igikikuje, kugira ngo ugityorore kiveko igicumuro, ugitangire impongano*+. 21 Uzoce utora iyo shuri, ari ryo shikanwa ry’igicumuro, kugira ituririrwe mu kibanza c’urusengero cabigenewe, hanze y’ahantu heranda+. 22 Ku musi ugira kabiri, uze ushikane isuguru y’impene itagira agahonzi, ibe ishikanwa ry’igicumuro. Baze batyorore igicaniro kiveko igicumuro nk’uko bazoba bagityoroye kikavako igicumuro hakoreshejwe ishuri.”

23 “Niwarangiza kugityorora kikavako igicumuro, uze ushikane ishuri yo mu busho itagira agahonzi, n’impfizi y’intama yo mu busho itagira agahonzi. 24 Uze ubishikirize Yehova, abaherezi na bo babimijeko umunyu+ hanyuma babitange nk’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye, rihabwa Yehova. 25 Mu kiringo c’imisi indwi, buri musi uzohora utanga isuguru y’impene nk’ishikanwa ry’igicumuro+, n’ishuri yo mu busho be n’impfizi y’intama yo mu busho. Uze ushikane ibitungwa bitagira akanenge. 26 Bazomare imisi indwi batangira impongano igicaniro, kandi baze bagihumanure baheze bagitegure ngo gitangure gukoreshwa. 27 Iyo misi niyarangira, kuva ku musi ugira umunani+ kubandanya, abaherezi bazotanga ku gicaniro amashikanwa yanyu* aturirwa uko yakabaye be n’ibimazi vyanyu vyo gusangira, kandi muzompimbara+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

44 Maze angarukana kw’irembo ry’urusengero ry’inyuma riraba mu buseruko+, kandi ryari ryugaye+. 2 Hanyuma Yehova ambwira ati: «Iri rembo rizoguma ryugaye. Ntirizokwugururwa, kandi nta muntu azoricamwo, kuko Yehova Imana ya Isirayeli yariciyemwo+. Ritegerezwa rero kuguma ryugaye. 3 Ariko umukuru wewe azoryicaramwo, kugira ngo arire umukate imbere ya Yehova+ kubera ko ari umukuru. Azokwinjira aciye mw’ibaraza ry’iryo rembo, kandi ni ho azosohokana+.»

4 Nuko anzana imbere y’urusengero ancishije mw’irembo ryo mu buraruko. Ndavye, mbona ubuninahazwa bwa Yehova bwamaze kwuzura urusengero rwa Yehova+. Maze nca ngwa nubamye+. 5 Maze Yehova ambwira ati: «Mwana w’umuntu, tega yompi*, witegereze, kandi wumvirize neza ivyo ngira nkubwire vyose ku bijanye n’ivyagezwe vy’urusengero rwa Yehova n’amategeko yarwo. Shira umutima ku bwinjiriro bw’urusengero no ku miryango yose isohoka y’ahantu heranda+. 6 Bwira Abisirayeli, ba bagarariji, uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Yemwe Bisirayeli, ibintu bishisha mukora biramaze! 7 Igihe mwinjiza ahantu hanje heranda abanyamahanga batagenyerewe ku mutima no ku mubiri, barahumanya urusengero rwanje. Mushikana umukate wanje, ikinure n’amaraso kandi murenga kw’isezerano ryanje kubera ibintu vyose bishisha mukora. 8 Ntimwitwararitse ibintu vyanje vyeranda+. Ahubwo ibikorwa vy’ahantu hanje heranda mwabishinze abandi.’”

9 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nta munyamahanga atagenyerewe ku mutima no ku mubiri aba muri Isirayeli azokwinjira ahantu hanje heranda.’”

10 “Mugabo Abalewi bagiye kure yanje+ igihe Abisirayeli bampeba bagakurikira ibigirwamana vyabo bisesemye*, bazoshikirwa n’ingaruka z’ikosa ryabo. 11 Bazokorera ahantu hanje heranda, bahagarikire amarembo y’urusengero+, bakorere ku rusengero. Bazobāgira abantu ibitungwa vy’amashikanwa aturirwa uko yakabaye n’ibindi bimazi, kandi bazohagarara imbere y’abantu kugira babakorere. 12 Ko babakoreye imbere y’ibigirwamana vyabo bisesemye, bakaba igitsitaza catumye Abisirayeli bacumura+, ni co gituma ndugije ukuboko kwanje nkarahira yuko bazoshikirwa n’ingaruka z’ikosa ryabo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 13 “Ntibazokwegera hafi yanje ngo bankorere ari abaherezi banje canke ngo hagire ibintu vyanje vyeranda canke vyeranda cane begera. Bazomaramara kubera ibintu bishisha bakoze. 14 Mugabo nzobagira abajejwe kwitwararika ivy’urusengero kugira biteho imirimo yaho n’ibindi vyose bikwiye kuhakorerwa+.”

15 “Nayo abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki+, bitwararitse ibikorwa vy’ahantu hanje heranda igihe Abisirayeli bampeba+, bazokwegera hafi yanje ngo bankorere. Bazohagarara imbere yanje kugira ngo banshikanire ikinure+ n’amaraso+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 16 “Ni bo bazokwinjira ahantu hanje heranda, begere imeza yanje ngo bankorere+, kandi bazokwitwararika ivyo nabajeje+.

17 Nibinjira mu marembo y’ikigo c’indani, baze bambare impuzu z’ilino*+. Ntibakwiye kwambara impuzu n’imwe ikozwe mu bwoya igihe bakorera mu marembo y’ikigo c’indani canke indani mu kigo. 18 Bakwiye kwambara ibitambara bazingira mu mutwe vyo mw’ilino n’amabutura yo mw’ilino+. Ntibaze bambare ikintu na kimwe cotuma babira icuya. 19 Imbere y’uko basohoka ngo baje mu kigo c’inyuma aho abantu bari, baze babanze bambure impuzu bakoze bambaye+, bazishire mu bibanza vy’uburiro* vyeranda+. Bazoheza bambare izindi mpuzu kugira impuzu zabo ntizitume abantu baba beranda*. 20 Ntibaze biharanguze umutwe+ canke ngo batereke umushatsi ube muremure. Baze bagabanishe umushatsi wabo. 21 Abaherezi ntibaze banywe umuvinyu igihe binjira mu kigo c’indani+. 22 Ntibaze barongore umupfakazi canke umugore yahukanye+. Ariko barashobora kurongora umwigeme w’isugi akomoka mu Bisirayeli canke umupfakazi asigwa n’umuherezi+.”

23 “Baze bigishe abantu banje itandukaniro riri hagati y’ikintu ceranda n’igisanzwe. Baze babafashe kumenya itandukaniro riri hagati y’icanduye n’ikitanduye+. 24 Ni bo bazohagarikira imanza, bazice+. Bazoce urubanza bisunze ingingo nashinze+. Baze bubahirize amategeko yanje n’ivyagezwe vyanje bijanye n’imisi mikuru yanje yose+, kandi ntibahumanye amasabato yanje. 25 Ntibaze begere umuntu n’umwe yapfuye kuko boca bahumana. Mugabo barashobora kwihumanya kubera ba se, ba nyina, abahungu babo, abakobwa babo, benewabo canke bashiki babo batubatse+. 26 Umuherezi amaze guhumanurwa baze bamuharurire imisi indwi. 27 Umusi azokwinjira ahantu heranda, mu kigo c’indani, kugira ngo akorere ahantu heranda, aze atange ishikanwa ryiwe ry’igicumuro+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

28 “Kandi iki ni co kizobabera intoranwa: ni jewe ntoranwa yabo+. Ntihaze hagire itongo mubaha muri Isirayeli kuko ari jewe tongo ryabo. 29 Ni bo bazorya ishikanwa ry’intete+, iry’igicumuro n’iryo kwagirwa n’icaha+, kandi ikintu cose ceguriwe Imana muri Isirayeli kizoba rwabo+. 30 Ivyamwa vyose vyeze ubwa mbere vyiza kuruta ibindi n’intererano z’ubwoko bwose muzotanga, bizoba ivy’abaherezi+. Intete zijanjaguye* z’ivyeze ubwa mbere* muzoziha umuherezi+. Ivyo bizotuma ingo zanyu zamana umuhezagiro+. 31 Abaherezi ntibaze barye ico basanze capfuye canke catabaguwe+, yaba ari inyoni canke igikoko.”

45 “Nimwagabanganya igihugu ngo kibe intoranwa+, muze muhe Yehova intererano y’umugabane mweranda mukuye ku gihugu+. Uburebure bwawo buze bube intambwe* 25.000, ubwaguke na bwo intambwe 10.000+. Ico gice cose kizoba ari umugabane mweranda*. 2 Muri ico gice hazoba ikibanza c’ikwadarato gipima intambwe 500 ku 500*+ kigenewe ahantu heranda. Irya n’ino yaho hazoba uburagiro bw’intambwe 50+. 3 Kuri iyo ngero, uze upime uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bw’intambwe 10.000. Aho ni ho hazoba ikibanza ceranda, ikintu ceranda cane. 4 Uzoba ari umugabane mweranda ukuwe ku gihugu ugenewe abaherezi+, ari bo basuku b’aheranda, begera kugira ngo bakorere Yehova+. Ni ho hazoba hari amazu yabo, habe n’ikibanza ceranda kigenewe urusengero.

5 Hazoba igice c’Abalewi, ari bo basuku b’urusengero, c’uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bw’intambwe 10.000+. Bazohabwa ibibanza vy’uburiro+ 20*.

6 Muzotanga ahantu hazokwegukira igisagara hafise uburebure bw’intambwe 25.000 (hareha na ya ntererano nyeranda) n’ubwaguke bw’intambwe 5.000+. Hazokwegukira ihanga ryose rya Isirayeli.

7 Umukuru azoronka itongo ku mpande zompi za ya ntererano nyeranda na ha hantu hegukira igisagara. Iryo tongo rizoba riri iruhande y’iyo ntererano nyeranda n’ahegukira igisagara. Rizoba riri ku ruhande rwo mu burengero n’urwo mu buseruko. Uburebure bwaryo kuva ku rubibe rwo mu burengero gushika ku rwo mu buseruko buzongana n’ubw’umugabane w’umwe muri ya miryango+. 8 Iryo tongo rizokwegukira uwo mukuru muri Isirayeli. Abakuru nashizeho ntibazokwongera gufata nabi abantu banje+, kandi bazoha Abisirayeli igihugu bisunze imiryango yabo+.”

9 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Yemwe bakuru ba Isirayeli, mwarengeje urugero!”

“Nimuhebe ubukozi bw’ikibi no gucinyiza abantu, mukore ibigororotse n’ibibereye+. Nimureke kunyaga abantu banje utwabo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 10 “Mukwiye gukoresha iminzane itabesha n’ingero ya efa* itabesha n’ingero ya bati* itabesha+. 11 Hakwiye kuba ingero idahinduka ya efa n’iya bati. Ingero ya bati ikwiye kungana n’ic’icumi c’ingero ya homeri*, n’ingero ya efa ikangana n’ic’icumi c’ingero ya homeri. Ingero ya homeri ni yo izofatirwako mu gupima. 12 Shekeli*+ ikwiye kungana n’ingero 20 za gera*. Shekeli 20, kwongerako 25, kwongerako 15 ni vyo bizongana n’ingero imwe ya manehe* muzokoresha.”

13 “Iyi ni yo ntererano muzotanga: ica gatandatu c’ingero ya efa kivuye ku ngero ya homeri imwimwe y’ingano, n’ica gatandatu ca efa kivuye kuri homeri imwimwe ya sayiri. 14 Amavuta atangwa akwiye gupimirwa ku ngero ya bati. Bati ni ic’icumi c’ingero ya koro*. Bati cumi ni homeri imwe, kuko bati cumi zingana na homeri imwe. 15 Mu busho bw’ibitungwa vy’Abisirayeli hakwiye gutangwa intama imwe ku 200. Ivyo vyose bizoba ari ivy’ishikanwa ry’intete+, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+ n’ibimazi vyo gusangira+, kugira ngo abantu bababarirwe ibicumuro*+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

16 “Abanyagihugu bose bazozanira iyo ntererano+ umukuru wo muri Isirayeli. 17 Ariko umukuru ni we azoba ajejwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ishikanwa ry’intete+ n’iry’ikinyobwa mu kiringo c’imisi mikuru+, imboneko z’ukwezi, amasabato+ no mu bindi biringo vyose vy’imisi mikuru yashinzwe y’Abisirayeli+. Ni we azozana ishikanwa ry’igicumuro, ishikanwa ry’intete, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyo gusangira, kugira ngo Abisirayeli bababarirwe ibicumuro*.”

18 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mu kwezi kwa mbere, umusi wa mbere w’ukwo kwezi, uze utore ishuri yo mu busho itagira agahonzi, uheze utyorore ahantu heranda haveko igicumuro+. 19 Umuherezi aze atore makeyi ku maraso y’ishikanwa ry’igicumuro, ayashire ku gishimaryango c’urusengero+ no ku mfuruka zine za ca gice* gikikuje igicaniro no ku gishimaryango c’irembo ry’ikigo c’indani. 20 Ukwo ni ko uzogira ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi ku bw’umuntu wese azocumura bivuye ku kwihenda canke ku kutamenya+. Muze mutangire impongano urusengero+.

21 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira 14 w’ukwo kwezi, muze muhimbaze Pasika+. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. 22 Kuri uwo musi, umukuru aze azane ishuri y’ishikanwa ry’igicumuro, ku bwiwe no ku bw’abanyagihugu bose+. 23 Mu misi indwi uwo musi mukuru uzomara+, aze azane buri musi ishuri indwi zitagira agahonzi n’impfizi z’intama indwi zitagira agahonzi vy’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova. Aze azane n’isuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi. 24 Aze azane n’ingero imwe ya efa y’ishikanwa ry’intete ijāna n’ishuri imwimwe, n’ingero imwe ya efa ijāna n’impfizi y’intama imwimwe, azane n’ingero imwe ya hini* y’amavuta ijāna na efa imwimwe.

25 Mu kwezi kugira indwi, ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, mu kiringo c’imisi indwi umusi mukuru uzomara+, aze azane ishikanwa ry’igicumuro nk’iryo nyene, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye nk’iryo nyene n’ishikanwa ry’intete nk’iryo nyene be n’amavuta nk’ayo nyene.”»

46 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Irembo ry’ikigo c’indani riraba mu buseruko+ rize rigume ryugaye+ mu misi itandatu y’ibikorwa+. Mugabo rize ryugururwe ku musi w’isabato no ku musi w’imboneko y’ukwezi. 2 Umukuru aze yinjire avuye hanze aciye mw’ibaraza ry’iryo rembo+, maze ahagarare iruhande y’igishimaryango c’iryo rembo. Abaherezi baze batange ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vyo gusangira. Aze yuname ku bwinjiriro bw’iryo rembo, hanyuma asohoke. Mugabo iryo rembo ntirize ryugarwe butaragoroba. 3 Abanyagihugu na bo nyene baze buname imbere ya Yehova kw’ishikiro ry’iryo rembo, ku masabato no ku mboneko z’ukwezi+.

4 Ishikanwa riturirwa uko ryakabaye umukuru azoshikiriza Yehova ku musi w’isabato, rikwiye kuba rigizwe n’imyagazi y’intama itandatu y’amasuguru itagira agahonzi be n’impfizi y’intama itagira agahonzi+. 5 Ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa* ijāna n’iyo mpfizi y’intama, n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’iyo myagazi y’intama y’amasuguru. Azobitangana n’ingero imwe ya hini* y’amavuta kuri efa imwimwe+. 6 Ku musi w’imboneko y’ukwezi, haze hatangwe ishikanwa rigizwe n’ishuri yo mu busho itagira agahonzi, imyagazi y’intama itandatu y’amasuguru n’impfizi y’intama. Bizobe bitagira agahonzi+. 7 Ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa ijāna n’iyo shuri, ingero imwe ya efa ijāna n’iyo mpfizi y’intama, n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’iyo myagazi y’intama y’amasuguru. Azotanga n’ingero imwe ya hini y’amavuta kuri efa imwimwe.

8 Umukuru niyinjira, aze ace mw’ibaraza ry’irembo, no mu gusohoka ace aho nyene+. 9 Abanyagihugu nibaza imbere ya Yehova mu biringo vy’imisi mikuru+, abaje gusenga baciye mw’irembo ryo mu buraruko+ baze basohokane mu ryo mu bumanuko+, abinjiranye mw’irembo ryo mu bumanuko na bo basohokane mu ryo mu buraruko. Nta wuzosubira inyuma aciye mw’irembo yinjiranyemwo. Akwiye gusohokana mw’irembo rirabana n’iryo yinjiranyemwo. 10 Nayo umukuru ari hagati muri bo, nibinjira na we aze yinjire, basohotse na we asohoke. 11 Ku musi mukuru no mu biringo vy’imisi mikuru, ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa ijāna n’ishuri, ingero imwe ya efa ijāna n’impfizi y’intama n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’imyagazi y’intama y’amasuguru. Azobitangana n’ingero imwe ya hini y’amavuta kuri efa imwimwe+.

12 Umukuru niyazana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+ canke ibimazi vyo gusangira ngo bibe ishikanwa umuntu aha Yehova avyishakiye, aze yugururirwe rya rembo riraba mu buseruko. Aze atange ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vyo gusangira nk’uko abigira ku musi w’isabato+. Amaze gusohoka, iryo rembo rizoce ryugarwa+.

13 Buri musi, uze uzane umwagazi w’intama w’isuguru utagira agahonzi utarenza umwaka umwe, ngo ube ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova+. Uze ubikore buri gitondo. 14 Uze urizanane n’ica gatandatu c’ingero ya efa buri gitondo ngo ribe ishikanwa ry’intete, be n’ica gatatu c’ingero ya hini y’amavuta yo kumijagira kw’ifu inoze nk’ishikanwa ry’intete ryama rihabwa Yehova. Ico ni icagezwe camaho. 15 Baze bazane umwagazi w’intama w’isuguru n’ishikanwa ry’intete be n’amavuta buri gitondo, bibe ishikanwa riturirwa uko ryakabaye ryama ritangwa.”

16 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umukuru niyagabira amatongo abana biwe ngo abe intoranwa yabo, azoca abegukira. Azoba ari amatongo abegukira kuko bayatoranye. 17 Ariko niyagabira umwe mu basuku biwe itongo rivuye ku ntoranwa yiwe, rizoba iry’uwo musuku gushika mu mwaka w’ukwidegemvya+. Rizoheza risubire kuba iry’uwo mukuru. Intoranwa y’abana biwe ni yo gusa izoguma ari rwabo. 18 Umukuru ntaze yomore abanyagihugu mu matongo yabo, ngo agire ico atwara ku ntoranwa yabo. Aze ahe abana biwe intoranwa ivuye kw’itongo ryiwe, kugira ngo ntihagire n’umwe mu bantu banje yomorwa mw’itongo ryiwe.”»

19 Araheza aranyinjiza ancishije mu bwinjiriro+ bwari iruhande y’irembo rija ku bibanza vyeranda vy’uburiro* vy’abaherezi vyaraba mu buraruko+. Ndahageze mbona ikibanza kiri inyuma amaja mu burengero. 20 Ambwira ati: «Iki ni co kibanza abaherezi bazotekeramwo ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha be n’ishikanwa ry’igicumuro, kandi ni ho bazokarangira* ishikanwa ry’intete+. Ni ukugira ngo ntihagire ikintu na kimwe batwara hanze mu kigo c’inyuma, bagatuma abantu baba beranda*+.»

21 Araheza aransohora anzana mu kigo c’inyuma, ancisha hafi y’imfuruka zine z’ico kigo, maze mu mfuruka zose z’ikigo c’inyuma ndahabona ibindi bigo. 22 Mu mfuruka zine z’ico kigo hari ibigo bitobito vy’uburebure bw’intambwe* 40 n’ubwaguke bw’intambwe 30. Vyose uko ari bine vyarangana*. 23 Muri ivyo bigo bine hari uduhome* irya n’ino, munsi yatwo hakaba hari hubatse ibibanza vyo gutekeramwo amashikanwa. 24 Maze ambwira ati: «Izi ni zo nzu abasuku b’urusengero batekeramwo ibimazi abantu bazanye+.»

47 Arahava angarukana ku bwinjiriro bw’urusengero+, maze ndahabona amazi atemba aja mu buseruko avuye munsi y’ubwinjiriro bw’urusengero+, kuko uruhande rw’imbere rw’urusengero rwaraba mu buseruko. Ayo mazi yatemba avuye munsi, ku ruhande rw’iburyo rw’urusengero, mu bumanuko bw’igicaniro.

2 Arahava ansohokana ancishije mw’irembo ryo mu buraruko+ anjana hanze, aranzungurukana anshikana kw’irembo ryo hanze riraba mu buseruko+. Maze mbona amazi yariko atemba avuye mu ruhande rw’iburyo.

3 Aho uwo mugabo agiriye amaja mu buseruko, afise mu kuboko umugozi wo gupimisha+, yapimye intambwe* 1.000 aca aranjabutsa ayo mazi. Ayo mazi yagera ku jisho ry’ikirenge.

4 Maze apima izindi ntambwe 1.000, aca aranjabutsa amazi. Yagera ku mavi.

Apima izindi 1.000, aca aranjabutsa. Amazi yagera mu mafyinga.

5 Aho apimiye izindi ntambwe 1.000, rwari rwabaye uruzi ntashobora kujabuka, kuko amazi yari yaduze cane, ku buryo vyasaba ko umuntu yoga mu kujabuka. Rwari uruzi umuntu adashobora kujabuka n’amaguru.

6 Aca ambaza ati: «Mwana w’umuntu, ivyo wabibonye?»

Maze ambwira ngo mveyo ngaruke ku nkombe y’urwo ruzi. 7 Ngarutse, mbona ku nkombe y’urwo ruzi hari ibiti vyinshi cane, hakuno no hakurya+. 8 Hanyuma ambwira ati: «Ayo mazi, atemba aja mu karere ko mu buseruko, akamanuka aciye mu karere ka Araba*+, agashika mu kiyaga. Ayo mazi niyashika mu kiyaga+, amazi yaco azoca akira. 9 Aho hose ayo mazi* azoshika, ibinyabuzima vyinshi bizoshobora kuhaba. Hazoba amafi menshi cane kuko ayo mazi azoshikayo. Amazi y’ikiyaga azokira kandi hazoba ibinyabuzima aho urwo ruzi ruzoshika hose.

10 Abarovyi bazohagarara ku nkengera yarwo kuva i Eni-Gedi+ gushika i Eni-Egulayimu, ahazoba hari imbuga yo kwanikirako insenga z’umukwabu. Hazoba hariho amafi menshi y’ubwoko bwinshi, nk’amafi yo mu kiyaga Kinini*+.

11 Hazoba hari ibibanza bijaga n’ibibanza vy’urushanga. Ivyo bibanza ntibizokira. Bizoheberwa umunyu+.

12 Hakurya no hakuno y’urwo ruzi hazomera ibiti biribwa vy’ubwoko bwose. Amababi yavyo ntazokabirana, kandi ntibizoreka kwama. Bizokwama ivyamwa bishasha buri kwezi kuko amazi abivomera ava aheranda+. Ivyamwa vyavyo bizoba ivyo kurya, amababi yavyo na yo abe ayo kuvura+.»

13 Umukama Segaba Yehova avuze ati: «Aka ni ko karere muzoha imiryango 12 ya Isirayeli ngo kababere intoranwa. Yozefu azoronkamwo imigabane ibiri+. 14 Muzohatorana muronke imigabane ingana*. Nararahiye ko iki gihugu nzogiha ba sogokuruza banyu+, none ubu mwagihawe ngo kibe intoranwa yanyu.

15 Uru ni rwo rubibe rw’ico gihugu mu ruhande rwo mu buraruko: ruva ku kiyaga Kinini rugafata inzira ija i Hetiloni+ rugana i Zedadi+, 16 i Hamati+, i Berota+ n’i Siburayimu, ahaherereye hagati y’urubibe rwa Damasiko n’urubibe rwa Hamati, rugashika i Hazeri-Hatikoni hafi y’urubibe rwa Hawurani+. 17 Urwo rubibe rero ruzova ku kiyaga rushike i Hazari-Enoni+. Ruzoca hafi y’urubibe rwa Damasiko mu buraruko no hafi y’urubibe rwa Hamati+. Urwo ni rwo rubibe rwo mu buraruko.

18 Uruhande rwo mu buseruko ruca hagati ya Hawurani na Damasiko, no ku nkengera ya Yorodani hagati ya Gileyadi+ n’igihugu ca Isirayeli. Muze mupime kuva ku rubibe rwo mu buraruko gushika ku kiyaga co mu buseruko*. Urwo ni rwo rubibe rwo mu buseruko.

19 Urubibe rwo mu bumanuko* ruzova i Tamari gushika ku mazi y’i Meribati-Kadeshi+, maze rugende gushika ku mwonga* no ku kiyaga Kinini+. Urwo ni urubibe rwo mu bumanuko*.

20 Ku ruhande rwo mu burengero hari ikiyaga Kinini, kuva ku rubibe rwo mu bumanuko gushika aharabana na Lebo-Hamati*+. Urwo ni rwo rubibe rwo mu burengero.»

21 «Muze mugabangane ico gihugu, mu miryango 12 ya Isirayeli. 22 Muze mukigabure kibe intoranwa yanyu, mwe n’abanyamahanga baba muri mwebwe bavyariye abana iwanyu. Muze mubafate nk’Abisirayeli b’imvukira. Bazoronka intoranwa mu miryango ya Isirayeli cokimwe namwe. 23 Umunyamahanga muze mumuhe intoranwa mu karere k’umuryango abamwo», ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

48 «Iyi ni yo migabane y’imiryango hisunzwe amazina yayo, kuva ku mupaka wo mu buraruko: umugabane wa Dani+ ujana inzira y’i Hetiloni gushika i Lebo-Hamati*+ n’i Hazari-Enani, ukajana urubibe rwa Damasiko amaja mu buraruko, iruhande ya Hamati+. Uva ku rubibe rwo mu buseruko ugashika ku rwo mu burengero. 2 Umugabane wa Asheri+ uhana urubibe n’uwa Dani, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 3 Umugabane wa Nafutali+ uhana urubibe n’uwa Asheri, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 4 Umugabane wa Manase+ uhana urubibe n’uwa Nafutali, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 5 Umugabane wa Efurayimu uhana urubibe n’uwa Manase+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 6 Umugabane wa Rubeni uhana urubibe n’uwa Efurayimu+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 7 Umugabane wa Yuda uhana urubibe n’uwa Rubeni+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 8 Ku rubibe rwa Yuda, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero, muzokurako intererano y’ubwaguke bw’intambwe* 25.000+, n’uburebure bungana n’ubw’imigabane y’imiryango bihana imbibe, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. Urusengero ruzoba ruri hagati.

9 Intererano muzokurirako Yehova izoba ifise uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bwa 10.000. 10 Iyi ni yo ntererano nyeranda igenewe abaherezi+: ku ruhande rwo mu buraruko izoba ifise intambwe 25.000, mu burengero 10.000, mu buseruko 10.000, mu bumanuko na ho 25.000. Urusengero rwa Yehova ruzoba ruri hagati. 11 Hazoba hagenewe abaherezi bejejwe bo muri bene Sadoki+, bamwe bitwararitse ibikorwa nabajeje, ntibampebe ca gihe Abisirayeli n’Abalewi bampeba+. 12 Baze baronke umugabane uvuye ku ntererano yakuwe ku gihugu ikagirwa nyeranda cane, ahahana urubibe n’Abalewi.

13 Iruhande y’akarere k’abaherezi, Abalewi bazoronka umugabane w’uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bwa 10.000. (Uburebure bwose buzoba 25.000, ubwaguke na bwo 10.000.) 14 Ntibaze bagurishe igice na kimwe c’uwo mugabane mwiza kuruta iyindi mu gihugu, canke ngo bagikabe canke ngo hagire uwo bagiha, kuko ari ikintu ceranda kuri Yehova.

15 Ikibanza gisigaye c’ubwaguke bw’intambwe 5.000 kibangabanganye n’urubibe rw’intambwe 25.000, kizoba ikibanza co gukoreramwo ibintu bisanzwe bigenewe igisagara+, ico kubamwo no kuragiramwo. Igisagara kizoba kiri hagati+. 16 Izi ni zo ngero z’ico gisagara: urubibe rwo mu buraruko ni intambwe 4.500, urwo mu bumanuko ni 4.500, urwo mu buseruko ni 4.500, urwo mu burengero na rwo ni 4.500. 17 Amatongo yo kuragiramwo y’ico gisagara azongana n’intambwe 250 mu buraruko, 250 mu bumanuko, 250 mu buseruko, na 250 mu burengero.

18 Uburebure bw’igice gisigaye buzoba bubangabanganye na ya ntererano nyeranda+. Kizoba gifise intambwe 10.000 mu buseruko, n’intambwe 10.000 mu burengero. Kizoba kibangabanganye na ya ntererano nyeranda, kandi umwimbu waco uzoba uwo kugaburira abakorera ico gisagara. 19 Hazorimwa n’abakorera ico gisagara bo mu miryango yose ya Isirayeli+.

20 Intererano yose ni intambwe* 25.000 ku 25.000. Muze muhatange. Hazoba hagizwe n’intererano nyeranda be n’ahegukira igisagara.

21 Ahazosigara ku mpande zompi z’intererano nyeranda be n’ahegukira igisagara, hazoba ah’umukuru+. Hazoba hahereranye n’urubibe rw’intererano nyeranda rwo mu buseruko n’urwo mu burengero zipima intambwe 25.000. Hazoba habangabanganye n’imigabane bihana urubibe kandi hazoba ari ah’umukuru. Intererano nyeranda be n’urusengero bizoba biri hagati.

22 Ahegukira Abalewi n’ahegukira igisagara hazoba haherereye hagati y’ahegukira umukuru. Akarere kegukira umukuru kazoba hagati y’urubibe rwa Yuda+ n’urwa Benyamini.

23 Ku bijanye n’imiryango isigaye, umugabane wa Benyamini uva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero+. 24 Umugabane wa Simeyoni uhana urubibe n’uwa Benyamini+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 25 Umugabane wa Isakari+ uhana urubibe n’uwa Simeyoni, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 26 Umugabane wa Zabuloni uhana urubibe n’uwa Isakari+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero+. 27 Umugabane wa Gadi uhana urubibe n’uwa Zabuloni+, kuva ku rubibe rwo mu buseruko gushika ku rwo mu burengero. 28 Urubibe rwo mu bumanuko rubangabanganye n’urwa Gadi ruzova i Tamari+ rugende gushika ku mazi y’i Meribati-Kadeshi+ rubandanye ku mwonga*+, gushika ku kiyaga Kinini*.

29 Ico ni co gihugu muzoha imiryango ya Isirayeli ngo kibe intoranwa+, kandi iyo ni yo izoba imigabane yabo+», ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

30 «Aha ni ho hantu ho gusohoka mu gisagara: uruhande rwo mu buraruko ruzopima intambwe 4.500+.

31 Amarembo y’igisagara azokwitwa amazina y’imiryango ya Isirayeli. Mu marembo atatu yo mu buraruko, hazoba irembo rya Rubeni, irya Yuda n’irya Lewi.

32 Uruhande rwo mu buseruko ruzopima intambwe 4.500 z’uburebure. Hari amarembo atatu: irembo rya Yozefu, irya Benyamini n’irya Dani.

33 Uruhande rwo mu bumanuko ruzopima intambwe 4.500. Hari amarembo atatu: irembo rya Simeyoni, irya Isakari n’irya Zabuloni.

34 Uruhande rwo mu burengero ruzopima intambwe 4.500 z’uburebure. Hari amarembo atatu: irembo rya Gadi, irya Asheri n’irya Nafutali.

35 Inkikuro yaho ni intambwe 18.000. Kuva uwo musi, ico gisagara kizokwitwa “Yehova ari ng’aho+.”»

Iryo zina risobanura ngo «Imana irakomeza.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Canke «n’imiravyo.»

Urwo ruvange rurakaka.

Ashobora kuba yarinjiranamwo akagira imfuruka ngororotsi.

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ico kinyabuzima.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yari ashanje agororotse.»

Iyi mvugo «mwana w’umuntu» iboneka incuro 93 mu gitabu ca Ezekiyeli. Iyi ni yo ncuro ya mbere.

Biboneka ko ayo mahanga yerekeza ku bantu bo muri Isirayeli no mu Buyuda.

Canke «bafise amaso atisonera.»

Ni ibimera bifise amahwa.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «naho abantu ari intabarirwa, bakaba bameze nk’ibintu bikuzibura.»

Canke «utumina.»

Canke «umuzingo w’igitabu.»

Mu giheburayo havuga ngo «nurye ico uronka.»

Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Canke «nzoyaharura ku gatwe kawe.»

Canke «ibitagororotse.»

Canke «nzoyaharura ku gatwe kawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Canke «urisarureko.»

Mu giheburayo havuga ngo «ururemeke.» Ni ukuvuga urubavu rw’ibubamfu rwa Ezekiyeli.

Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye.

Ni nk’amagarama 230. Raba Inyongera ya B14.

Ni nka mililitiro 600 (nk’igice c’ilitiro). Raba Inyongera ya B14.

Canke «umukate wiburungushuye.»

Mu giheburayo havuga ngo «ngira mvune inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.

Mu giheburayo havuga ngo «yiwe.»

Canke «mu gice c’epfo c’impuzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.

Canke «nzokugabanya.»

Canke «indwara.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.

Canke «kwiheberwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «nzovuna inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyanyu bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «w’umusambanyi», «w’igihumbu.»

Canke «akurikira mu ntumbero y’ubusambanyi.»

Mu giheburayo havuga ngo «rizokuvyukira.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «urugori rw’amashurwe ruraje.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «urugori rw’amashurwe ruraje.»

Ni ukuvuga ko baba abagura ibintu canke ababigurisha, ata n’umwe azokwunguka kuko agatikizo kazoza kuri bose.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye kw’ikosa ryiwe.»

Ni ukuvuga ko bazokwigirako umwanda muto kubera ubwoba.

Mu giheburayo havuga ngo «batekerwa.»

Bisigura ko bazomwa umushatsi kubera ikigandaro.

Ni ukuvuga ifeza zabo n’inzahabu zabo.

Ni ukuvuga ibintu vyabo vy’ifeza n’ivy’inzahabu.

Ni ukuvuga ifeza zabo n’inzahabu zabo bakozemwo ibigirwamana.

Biboneka ko ari ikibanza kiri ahiherereye mu rusengero rwa Yehova.

Ni iminyororo y’imbohe.

Canke «nta nyigisho.»

Canke «inama.»

Canke «yambare.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Urwo ruvange rurakaka.

Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.

Canke «ikimenyetso.»

Canke «ico kimenyetso.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «bisaruye.»

Canke «birimwo ibishusho vyiwe bihinguye neza.»

Biboneka ko ako gashami kakoreshwa mu vy’ugusenga ibigirwamana.

Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

Canke «akantu umwanditsi ashiramwo irangi.»

Mu giheburayo havuga ngo «w’inzu.»

Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

Ni ukuvuga umukerubi wese.

Mu giheburayo havuga ngo «ca kinyabuzima.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ico kinyabuzima.»

Mu giheburayo havuga ngo «ico ni ca kinyabuzima.»

Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.

Canke «zo kugirira nabi.»

Ni ukuvuga igisagara ca Yeruzalemu aho Abayuda biyumvira ko bazokingirwa.

Canke «inkono y’umunwa munini.»

Canke «ibintu biza mu mutima wanyu.»

Mu giheburayo havuga ngo «nzobaha umutima umwe.»

Ni ukuvuga umutima wemera kuyoborwa n’Imana.

Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.

Canke «kuragurira abantu ivy’ububeshi.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu ya Isirayeli.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu mutima wabo.»

Ni ukuvuga ko bubaka uruhome rw’indani rudakomeye, bakarusiga ishwagara kugira ruboneke ko rukomeye.

Mu giheburayo havuga ngo «nawe rubura uzogwa.»

Ni ukuvuga udutambara tw’ivy’amageza twambarwa ku nkokora canke ku bikonjo.

Canke «ata mubabaro.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «ncakire inzu ya Isirayeli mu mutima wabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «mvune inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.

Canke «bikagihekura.»

Canke «imanza zanje zine z’ubugesera.»

Canke «igice c’epfo c’impuzu.»

Canke «isandari.»

Canke «rw’ibikoko vyitwa tahashi.» Ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.

Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

Canke «uwubereye ikibanza c’ubwami.»

Canke «izina ryawe ryaciye ritangura gukwiragira.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyawe bitaramutse.»

Ni ukuvuga ivyo bigirwamana vy’abagabo.

Canke «gatururuza.» Mu giheburayo havuga ngo «karuhura.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu gutabururira amaguru yawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «b’umubiri munini.»

Mu giheburayo havuga ngo «ca Kanani.»

Canke «wagoyagoya.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «ewe kuntu nuzuye uburake kubera wewe.»

Canke «ashira isoni.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibubamfu bwawe.»

Bashobora kuba bagereranya udusagara tuhegukira.

Mu giheburayo havuga ngo «iburyo bwawe.»

Canke «waburaniye.»

Canke «ninagutangira impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Mu giheburayo havuga ngo «ca Kanani.»

Ni igiti c’amashami maremare n’utubabi tureture twonze.

Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto rw’ubwami.»

Ni ukuvuga Nebukadinezari.

Ni ukuvuga Zedekiya.

Mu giheburayo havuga ngo «naho yatanze ukuboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.

Mu giheburayo ni «nefeshi.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwusesa amaraso.»

Mu giheburayo havuga ngo «kizokwibukwa ngo agihanirwe.»

Canke «ibitagororotse.»

Canke «mwironse umutima mushasha n’impwemu nshasha.»

Canke «mu ntambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’umuzabibu mu murima wawe w’imizabibu.» Mu giheburayo havuga ngo «umuzabibu mu maraso yawe.»

Canke «inkoni.»

Canke «ku nkoni.»

Canke «kubamenyesha urubanza baciriwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «naradugije ukuboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rw’inzu.»

Canke «narabagenzuriye.»

Canke «cari ikirezi mu bihugu vyose.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Ni ukuvuga Abisirayeli.

Ni ukuvuga Abisirayeli.

Ni ukuvuga Abisirayeli.

Canke «c’ikirezi mu bihugu vyose.»

Mu giheburayo havuga ngo «ijisho ryanje ryarabumviye.»

Ni ukuvuga Abisirayeli.

Mu giheburayo havuga ngo «amaso yabo akurikira.»

Canke «barantutse.»

Canke «gatururuza.» Mu giheburayo havuga ngo «karuhura.»

Canke «bagakora ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»

Canke «ibiza mu mutima wanyu.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»

Mu giheburayo havuga ngo «ndabashire mu mugozi w’isezerano.»

Canke «gatururuza.» Mu giheburayo havuga ngo «karuhura.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu maso hanyu hazobashisha.»

Canke «igifise umubiri cose.»

Canke «mu bupfindo.»

Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.

Canke «igifise umubiri cose.»

Mu giheburayo havuga ngo «amafyinga yawe ajugumira.»

Ni ukuvuga ko bazokwigirako umwanda muto kubera ubwoba.

Ni ukuvuga inkota ya Yehova.

Mu giheburayo havuga ngo «ikiganza.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Abarahiye ni ababa i Yeruzalemu. Biboneka ko barahiye Abanyababiloni.

Mu giheburayo havuga ngo «muzofatishwa ukuboko.»

Biboneka ko hariko habwirwa igisagara ca Raba c’Abamoni.

Mu giheburayo havuga ngo «ku mazosi y’abishwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «mbega uracira urubanza, uracira urubanza.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «bariba», «baragunga.»

Canke «abana batagira ba se.»

Mu giheburayo havuga ngo «bapfukura ubwambure bwa ba se.»

Canke «ukarondera kwunguka ivy’umurengera.»

Canke «umutima wawe uzokwihangana.»

Ni ubucafu busigara bahejeje gucisha ubutare mu muriro.

Iryo zina risobanura ngo «ihema ryiwe.»

Iryo zina risobanura ngo «ihema ryanje riri iwe.»

Canke «abahabara biwe.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «ubusambanyi.»

Canke «asaruwe.»

Canke «ubusambanyi.»

Mu giheburayo havuga ngo «n’abahamagawe.»

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Mu giheburayo havuga ngo «wuzure akaborerwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukanshiburira inyuma y’umugongo wawe.»

Ni ukurenga ibigo mu buryo bw’impwemu.

Mu giheburayo havuga ngo «izina ry’uyu musi.»

Canke «bwira inkuru.»

Canke «ya nkono y’umunwa munini.»

Canke «utabipfindiyeko ubupfindo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku makara.»

Canke «ntuze wikubite ku gikiriza.»

Canke «isandari.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate w’abantu.»

Canke «ufitiye impuhwe.»

Canke «amakambi azitijwe impome.»

Canke «umumanuko.»

Canke «n’ikirezi.»

Canke «akagaye mu mutima.»

Mu giheburayo havuga ngo «abakobwa biwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Mu giheburayo havuga ngo «abantu.»

Canke «ururwanisho agabisha ibitero.»

Canke «inkota.»

Mu giheburayo havuga ngo «abishwe.»

Canke «abaganwa.»

Canke «amakanzu atagira amaboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «bambare ukujugumira.»

Canke «mu mva.»

Canke «nsharize igihugu c’abazima.»

Ingafe ni ibintu bakoresha mu gusoza ubwato, bishaka kumera nk’umudahara.

Canke «impanza yawe.»

Mu gifaransa bacita lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Mu giheburayo havuga ngo «b’abatama.»

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Mu gifaransa ni ébène.

Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Canke «bweragurika bugomba gutukura.»

Ni igiti gisangiye ubwoko n’icitwa kaneliye (cannelier).

Ni ubwoko bw’amarenga amota neza.

Canke «impuzu zijishe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ukagira ubuninahazwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ishengero.»

Canke «warahaza amahanga menshi.»

Canke «mu mva.»

Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Mu giheburayo havuga ngo «ikidodo cerekana icitegererezo ni we wagishirako.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Muri uwu murongo no mu yikurikira, uruzi Nili rusobanura urwo ruzi n’imigende yarwo yo kuvomera imirima.

Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.

Mu giheburayo havuga ngo «irenga.»

Mu giheburayo havuga ngo «amafyinga.»

Mu giheburayo havuga ngo «yavuze.»

Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Ni ukuvuga i Tiro.

Canke «nzoha inkomezi Abisirayeli.»

Canke «abantu bose bava mu yandi mahanga.»

Bashobora kuba ari Abisirayeli bari bagize urunani na Misiri.

Canke «mu meri.» Imeri ni ubwato bunini.

Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «Memfisi.»

Canke «nta muganwa.»

Ni ukuvuga Tebe (Thèbes).

Canke «Memfisi.»

Hitwa kandi Heliyopoli.

Canke «ninavunirayo ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Canke «nzokwongereza inkomezi.»

Ni ukuvuga imbere y’umwami wa Babiloni.

Mu giheburayo havuga ngo «wabaye muremure.»

Canke «mu mva.»

Canke «mu mva.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwiwe.»

Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzuzi zabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «kandi imigende izokwuzuzwa ibivuye kuri wewe (ibikuvamwo).»

Canke «mu mva.»

Ni ukuvuga Abanyamisiri.

Ni ukuvuga Misiri.

Canke «mu mva.»

Canke «mu mva.»

Canke «mu mva.»

Mu giheburayo havuga ngo «yiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «yiwe.»

Vyerekeza kumbure ku barwanyi bahambanywe inkota zabo ku bwo kubatera iteka mu vya gisirikare.

Canke «mu mva.»

Canke «abaganwa.»

Canke «mu mva.»

Canke «nzoyaharura ku gatwe k’iyo nderetsi.»

Canke «ntibizomutsitaza.»

Canke «ibitagororotse.»

Mu giheburayo havuga ngo «kizokwibukwa ngo agihanirwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «bavuga amajambo yuzuye inambu.»

Canke «nzokwishuza intama zanje mu kuboko kwabo.»

Canke «kwitwararika.»

Canke «ninavunagura ingogo zazo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Mu giheburayo havuga ngo «amaraso.»

Mu giheburayo havuga ngo «itubere ibifungurwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «n’amasigarira», «n’abasigaye.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Ni ukuvuga umutima wemera kuyoborwa n’Imana.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nka kurya kw’amasho y’intama z’ibimazi i Yeruzalemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Canke «wa mpemu», «wa mpwemu.»

Canke «impwemu.»

Canke «bagenziwe.»

Canke «bagenziwe.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»

Canke «umuganwa.»

Canke «ahantu hanje ho kuba», «inzu yanje.»

Canke «hejuru yabo.»

Canke «wa muganwa mukuru.»

Canke «wewe muganwa mukuru.»

Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Mu giheburayo havuga ngo «umurinzi.»

Canke «uzotumwako.»

Canke «c’uturere tutazitiye two mu gihugu hagati.»

Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Canke «nzoburana na we.»

Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.

Canke «wewe muganwa mukuru.»

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «inkoni.» Yari inkoni isongoye bakoresha nk’ikirwanisho.

Canke «umubande w’amasinzi ya Gogi.»

Iryo zina risobanura ngo «amasinzi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Canke «nzopfuha kubera izina ryanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Mu giheburayo ni «peshita.» Ni igiterwa camye kirimwa kuva kera. Inyuzi zaco bazikoramwo impuzu.

Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.» Mu kigabane ca 40-48, ijambo «inzu» ryahinduwe ngo «urusengero» igihe ryerekeza ku nyubakwa zose ziri mu kigo c’urusengero canke ku nyubakwa nyezina y’urusengero.

Mu giheburayo havuga ngo «irenga ry’ugupimisha rireha n’intambwe zitandatu, intambwe imwe n’ubwaguke bw’ikiganza.» Ni intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Hashobora kuba ari hejuru aho uruhome rw’icumba c’abarinzi rugarukira.

Canke «amadirisha arimwo utubaho dutuma umwenge wayo ugenda uragabanuka.»

Canke «mbona ivyumba.»

Mu giheburayo havuga ngo «apima ubwaguke.»

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «12.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu rusengero.» Mu kigabane ca 41 n’ica 42, iryo jambo risobanura Aheranda canke urusengero rwose (ni ukuvuga Aheranda n’Aheranda cane).

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «impande z’ubwinjiriro.»

Ni ukuvuga Aheranda cane.

Mu giheburayo havuga ngo «ubwaguke bw’ubwinjiriro bwari.»

Biboneka ko zari ingazi zizunguruka.

Biboneka ko kari akayira kari irya n’ino y’urusengero.

Canke «n’ivyumba.»

Ni ya nyubakwa yo mu burengero bw’urusengero.

Canke «amadirisha arimwo utubaho dutuma umwenge wayo ugenda uragabanuka.»

Canke «yari apfutswe.»

Canke «hasaruweko.»

Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»

Mu giheburayo havuga ngo «igishimaryango.» Biboneka ko ari ku bwinjiriro bw’Aheranda.

Biboneka ko ari Aheranda cane.

Mu giheburayo havuga ngo «uburebure.»

Ni ukuvuga inyubakwa yo mu burengero.

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Canke «y’ivyumba.»

Bibiliya yo mu kigiriki yitwa Septante ivuga ngo «uburebure bw’intambwe 100.» Mu giheburayo havuga ngo «inzira y’intambwe imwe.» Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «mu bwaguke bw’uruzitiro rw’amabuye rw’ikigo.»

Ni ya nyubakwa yavuzwe ku murongo wa mbere.

Mu giheburayo havuga ngo «gupima inzu y’indani.»

Raba Inyongera ya B14.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yaza.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.

Canke «ku bumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Bishobora kuba vyari ibigirwamana bafata nk’abami babo.

Canke «ubumaraya.»

Mu giheburayo havuga ngo «gupima ico citegererezo.»

Canke «imigero yo hasi.»

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Yareha na santimetero nka 22,2. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ku muhiro w’epfo.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ukuvuga amashikanwa yazanwa n’abantu.

Mu giheburayo havuga ngo «shira ku mutima.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «mu vyumba.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntizeze abantu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ifu itanoze.»

Canke «z’umushuzo.»

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Canke «uzoba ari umugabane mweranda mu mbibe zawo zose.»

Mu giheburayo havuga ngo «ca 500 ku 500.»

Canke «ivyumba 20.»

Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya B14.

Canke «mina.» Raba Inyongera ya B14.

Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Canke «batangirwe impongano.»

Canke «za wa muhiro.»

Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya B14.

Canke «ku vyumba vyeranda.»

Canke «bazokwokereza.»

Mu giheburayo havuga ngo «bakeza abantu.»

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Canke «uko ari bine n’ukuntu vyubatse mu mfuruka vyarangana.»

Canke «imirongo.»

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Canke «mu kiyaya c’ubugaragwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «izo nzuzi zibiri.»

Ni ikiyaga Mediterane.

Mu giheburayo havuga ngo «umwe wese cokimwe na mwenewabo.»

Ni ikiyaga c’Umunyu.

Mu giheburayo havuga ngo «uruhande rwo mu bumanuko amaja mu bumanuko.»

Ni umwonga wa Misiri.

Mu giheburayo havuga ngo «ni uruhande rwo mu bumanuko amaja mu bumanuko.»

Canke «aharabana n’ubwinjiriro bwa Hamati.»

Canke «gushika ku bwinjiriro bwa Hamati.»

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora.

Ni umwonga wa Misiri.

Ni ikiyaga Mediterane.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika