Ezira
1 Mu mwaka wa mbere wa Kuro+ umwami w’Ubuperesi, kugira ngo ijambo rya Yehova ryavuye mu kanwa ka Yeremiya+ riranguke, Yehova akabura+ impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi ku buryo ategeka ko haterwa akamo+ mu karere atwara kose, bigashirwa no mu nyandiko+, ngo:
2 “Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi avuze+: ‘Yehova Imana y’amajuru+ yarampaye+ ubwami bwose bwo mw’isi, kandi ubwiwe yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu+ muri Yuda. 3 Umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose, Imana yiwe ibane na we+. Naduge rero i Yeruzalemu muri Yuda, asubire kwubaka inzu ya Yehova Imana ya Isirayeli, ni we Mana y’ukuri+, inzu yari i Yeruzalemu+. 4 Nayo umuntu wese asigaye, ahantu hose abaye ari kavamahanga+, abantu b’aho aba bamufashishe ifeza n’inzahabu n’ibintu n’ibitungwa hamwe n’ishikanwa ritangwa ku bushake+, bigenewe inzu y’Imana y’ukuri yari i Yeruzalemu.’”
5 Maze abakuru+ ba ba se ba Yuda n’aba Benyamini n’abaherezi n’Abalewi barahaguruka, egome, umuntu wese Imana y’ukuri yakabuye impwemu yiwe+, kugira ngo baduge gusubira kwubaka inzu ya Yehova+ yari i Yeruzalemu. 6 Nayo abari irya n’ino yabo bose, bakomeza+ amaboko yabo mu kubaronsa ibikoresho vy’ifeza, inzahabu, ibintu n’ibitungwa be n’ibintu vyizavyiza, turetse ibintu vyose vyatanzwe ku bushake+.
7 Vyongeye, Umwami Kuro ubwiwe asohora ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova+, ivyo Nebukadinezari yari yarakuye i Yeruzalemu+ akabishira mu nzu y’imana yiwe+. 8 Nuko Kuro umwami w’Ubuperesi arabisohora bihagarikiwe na Mitiredati umunyabigega, abiharurira Sheshibazari+ umukuru wa Yuda+.
9 Iki rero ni co gitigiri cavyo: ivyombo mirongo itatu vy’inzahabu bimeze nk’ibisimbo, ivyombo igihumbi vy’ifeza bimeze nk’ibisimbo, n’ibindi vyombo mirongo ibiri n’icenda vy’ibisubirizi, 10 amabakure+ matomato mirongo itatu y’inzahabu, amabakure matomato yo hampande amajana ane na cumi y’ifeza, n’ibindi bikoresho igihumbi. 11 Ibikoresho vyose vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyari ibihumbi bitanu n’amajana ane. Vyose Sheshibazari+ arabidugana, igihe abari barajanywe ari inyagano+ baduganwa i Yeruzalemu bakuwe i Babiloni.
2 Aba ni bo bana b’intara y’ubutware+ baduze bavuye iyo abajanywe ari inyagano+ bari baragiriwe imbohe, abo Nebukadinezari umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano+ i Babiloni maze mu nyuma bagasubira+ i Yeruzalemu no muri Yuda+, umwe wese mu gisagara ciwe, 2 abazananye na Zerubabeli+ na Yeshuwa+ na Nehemiya na Seraya+ na Reyelaya na Morudekayi na Bilishani na Misipari na Bigivayi na Rehumu na Bayana.
Igitigiri c’abagabo bo mu gisata ca Isirayeli cari iki: 3 Bene Paroshi+ bari ibihumbi bibiri n’ijana na mirongo irindwi na babiri; 4 bene Shefatiya+ bari amajana atatu na mirongo irindwi na babiri; 5 bene Ara+ bari amajana indwi na mirongo irindwi na batanu; 6 bene Pahati-mowabu+, bo kuri bene Yeshuwa na Yowabu+, bari ibihumbi bibiri n’amajana umunani na cumi na babiri; 7 bene Elamu+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane; 8 bene Zatu+ bari amajana icenda na mirongo ine na batanu; 9 bene Zakayi+ bari amajana indwi na mirongo itandatu; 10 bene Bani+ bari amajana atandatu na mirongo ine na babiri; 11 bene Bebayi+ bari amajana atandatu na mirongo ibiri na batatu; 12 bene Azigadi+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo ibiri na babiri; 13 bene Adonikamu+ bari amajana atandatu na mirongo itandatu na batandatu; 14 bene Bigivayi+ bari ibihumbi bibiri na mirongo itanu na batandatu; 15 bene Adini+ bari amajana ane na mirongo itanu na bane; 16 bene Ateri+, bo kuri Hezekiya, bari mirongo icenda n’umunani; 17 bene Bezayi+ bari amajana atatu na mirongo ibiri na batatu; 18 bene Yora bari ijana na cumi na babiri; 19 bene Hashumu+ bari amajana abiri na mirongo ibiri na batatu; 20 bene Gibari+ bari mirongo icenda na batanu; 21 ab’i Betelehemu+ bari ijana na mirongo ibiri na batatu; 22 abagabo b’i Netofa+ bari mirongo itanu na batandatu; 23 abagabo b’i Anatoti+ bari ijana na mirongo ibiri n’umunani; 24 ab’i Azimaveti+ bari mirongo ine na babiri; 25 ab’i Kiriyati-yeyarimu+ n’i Kefira n’i Beyeroti bari amajana indwi na mirongo ine na batatu; 26 ab’i Rama+ n’i Geba+ bari amajana atandatu na mirongo ibiri n’umwe; 27 abagabo b’i Mikimasi+ bari ijana na mirongo ibiri na babiri; 28 abagabo b’i Beteli+ n’i Ayi+ bari amajana abiri na mirongo ibiri na batatu; 29 ab’i Nebo+ bari mirongo itanu na babiri; 30 bene Magibishi bari ijana na mirongo itanu na batandatu; 31 bene Elamu+ wundi bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane; 32 bene Harimu+ bari amajana atatu na mirongo ibiri; 33 ab’i Lodi+ n’i Hadidi+ n’i Ono+ bari amajana indwi na mirongo ibiri na batanu; 34 ab’i Yeriko+ bari amajana atatu na mirongo ine na batanu; 35 ab’i Senaya+ bari ibihumbi bitatu n’amajana atandatu na mirongo itatu.
36 Abaherezi+ bari aba: Bene Yedaya+ bo mu nzu ya Yeshuwa+ bari amajana icenda na mirongo irindwi na batatu; 37 bene Imeri+ bari igihumbi na mirongo itanu na babiri; 38 bene Pashuri+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo ine n’indwi; 39 bene Harimu+ bari igihumbi na cumi n’indwi.
40 Abalewi+ bari aba: Abahungu ba Yeshuwa+ na Kadumiyeli+, bo kuri bene Hodaviya+, bari mirongo irindwi na bane. 41 Abaririmvyi, bene Asafu+, bari ijana na mirongo ibiri n’umunani. 42 Abahungu b’abarinzi b’amarembo bari aba: bene Shalumu+, bene Ateri+, bene Talimoni+, bene Akubu+, bene Hatita+, bene Shobayi, bose hamwe bari ijana na mirongo itatu n’icenda.
43 Abanetinimu*+ bari aba: Bene Ziha, bene Hasufa, bene Tabayoti+, 44 bene Kerosi, bene Siyaha, bene Padoni+, 45 bene Lebana, bene Hagaba, bene Akubu, 46 bene Hagabu, bene Salumayi+, bene Hanane, 47 bene Gideli, bene Gahari+, bene Reyaya, 48 bene Rezini+, bene Nekoda, bene Gazamu, 49 bene Uza, bene Paseya+, bene Besayi, 50 bene Asina, abahungu b’Abamewunimu, abahungu b’Abanefusimu+; 51 bene Bakibuki, bene Hakufa, bene Harihuri+, 52 bene Baziluti, bene Mehida, bene Harisha+, 53 bene Barikosi, bene Sisera, bene Tema+, 54 bene Neziya, bene Hatifa+.
55 Abahungu b’abasuku ba Salomo+ bari aba: Bene Sotayi, bene Sofereti, bene Peruda+, 56 bene Yayala, bene Darikoni, bene Gideli+, 57 bene Shefatiya, bene Hatili, bene Pokereti-hazebayimu, bene Ami+.
58 Abanetinimu+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo bose bari amajana atatu na mirongo icenda na babiri+.
59 Aba ni bo baduze bavuye i Teli-mela n’i Teli-harisha n’i Kerubi n’i Adoni n’i Imeri, mugabo ntibashobora kwerekana inzu ya ba se n’amamuko yabo+, kugira bimenyekane ko bakomoka kuri Isirayeli: 60 bene Delaya na bene Tobiya na bene Nekoda+ bari amajana atandatu na mirongo itanu na babiri. 61 Abo mu bahungu b’abaherezi+ bari aba: bene Habaya, bene Hakozi+, bene Baruzilayi+, uwabiriye umugore mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umugileyadi maze akitirirwa izina ryabo. 62 Abo ni bo barondeye igitabu banditswemwo kugira ngo bemeze icese amamuko yabo, mugabo ntibībona, bituma bakurwa mu buherezi kuko bafashwe ko banduye+. 63 Nuko Buramatari*+ ababwira ko batoshoboye kurya+ ku bintu vyeranda rwose gushika habonetse umuherezi afise Urimu+ na Tumimu*.
64 Ishengero ryose uko ari umugwi+ ryari rigizwe n’abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu+, 65 hatarimwo abashumba babo n’abashumbakazi babo, bano bakaba bari ibihumbi indwi n’amajana atatu na mirongo itatu n’indwi; kandi bari bafise abaririmvyi+ n’abaririmvyikazi amajana abiri. 66 Amafarasi yabo yari amajana indwi na mirongo itatu n’atandatu, inyumpu zabo zikaba amajana abiri na mirongo ine na zitanu+, 67 ingamiya zabo zikaba amajana ane na mirongo itatu na zitanu, indogobwa zabo na zo zikaba ibihumbi bitandatu n’amajana indwi na mirongo ibiri+.
68 Bamwe mu bakuru+ b’amazu ya ba sekuru+, aho bashikiye ku nzu ya Yehova+ yari i Yeruzalemu+, batanga amashikanwa atangwa ku bushake+ ku bw’inzu y’Imana y’ukuri, kugira ngo batume ihagarara ku kibanza cayo+. 69 Bakurikije ubushobozi bwabo, batanga inzahabu+ ku bw’ikigega kigenewe igikorwa: amadarakima* ibihumbi mirongo itandatu na kimwe, be n’ifeza+: imina* ibihumbi bitanu, n’amakanzu+ ijana y’abaherezi. 70 Nuko abaherezi n’Abalewi na bamwe mu bantu+, n’abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo n’Abanetinimu batangura kuba mu bisagara vyabo, na Isirayeli yose itangura kuba mu bisagara vyayo+.
3 Igihe ukwezi kugira indwi+ kwashika, bene Isirayeli bari mu bisagara vyabo. Nuko abantu batangura gukoranira i Yeruzalemu+ nk’umuntu umwe+. 2 Maze Yeshuwa+ mwene Yehozadaki na bene wabo ari bo baherezi, na Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na bene wabo, barahaguruka bubaka igicaniro* c’Imana ya Isirayeli, kugira ngo bagishikaneko ibimazi biturirwa, bisunze ivyanditswe+ mw’itegeko rya Musa umuntu w’Imana y’ukuri.
3 Nuko bashimangira igicaniro mu kibanza caco+, kuko ivutu ryabajeko kubera ibisata vy’abantu vy’ibihugu bibanyi+, maze batangura kugishikanirako Yehova ibimazi biturirwa, ibimazi biturirwa vyo mu gitondo n’ivyo ku mugoroba+. 4 Bahimbaza rero umusi mukuru w’insago+ bisunze ivyanditswe+, bagatanga ibimazi biturirwa ku musi ku musi bakurikije igitigiri, nk’uko ingingo igenga ivyabwirizwa gutangwa ku musi yari+. 5 Mu nyuma hashikanwa ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba+, n’iry’imboneko z’ukwezi+, n’iry’ibiringo vyose vy’imisi mikuru+ vyejejwe vya Yehova, n’iry’umuntu wese yashikaniye Yehova ishikanwa ritangwa ku bushake+, akarishikana abikunze. 6 Kuva ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi+, batangura gushikanira Yehova ibimazi biturirwa, igihe umushinge w’urusengero rwa Yehova utari bwashingwe.
7 Nuko baha amahera+ abaringaniza amabuye+ n’abahinguzi b’utugenegene+, bongera baha ibiribwa+ n’ibinyobwa n’amavuta+ Abanyasidoni+ n’Abanyatiro+, kugira bazane ku kiyaga c’i Yopa+ ibiti vy’amasederi babikuye i Libani+, bisunze uruhusha bari bahawe na Kuro+ umwami w’Ubuperesi.
8 Mu mwaka ugira kabiri bashitse ku nzu y’Imana y’ukuri i Yeruzalemu, mu kwezi kugira kabiri+, Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki na bene wabo basigaye, abaherezi n’Abalewi, n’abari baravuye mu bunyagano+ bose bakaja i Yeruzalemu, batangura igikorwa; bashiraho rero Abalewi+ kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga, kugira babe abahagarikizi b’igikorwa c’inzu ya Yehova+. 9 Nuko Yeshuwa+, n’abahungu biwe na bene wabo, na Kadumiyeli n’abahungu biwe, ari bo bene Yuda, barahaguruka ari umugwi kugira babe abahagarikizi b’abakora igikorwa mu nzu y’Imana y’ukuri, na bene Henadadi+ na bo nyene, n’abahungu babo na bene wabo, ari bo Balewi.
10 Abubatsi ngo bashinge umushinge+ w’urusengero rwa Yehova, abaherezi bambaye ivyambarwa vy’ibango+, bafise inzumbete+, n’Abalewi bene Asafu+, bafise ivyuma bisāma+, baca barahaguruka kugira bashemeze Yehova bisunze ubuyobozi+ bwa Dawidi umwami wa Isirayeli. 11 Nuko batangura kwitabira mu gushemeza+ Yehova no mu kumukengurukira, “kuko ari mwiza+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe agirira Isirayeli ari ubwo gushika igihe kitagira urugero*+.” Abantu bose na bo bavuza akaruru n’ijwi rirenga+ bashemeza Yehova kubera hashinzwe umushinge w’inzu ya Yehova. 12 Benshi mu baherezi+ n’Abalewi n’abakuru b’amazu ya ba sekuru+, abatama bari barabonye inzu ya kera+, bariko barira+ n’ijwi rirenga igihe hariko hashingwa umushinge+ w’iyo nzu mu maso yabo, mu gihe abandi benshi bariko bashira ijwi hejuru basemerera kubera akanyamuneza+. 13 Ku bw’ivyo abantu ntibashobora gutandukanya ijwi ry’akaruru k’umunezero+ n’ijwi ry’ukurira kw’abantu, kuko abantu bariko bavuza akaruru n’ijwi rirenga, kandi iryo jwi ryarumvikana gushika kure cane.
4 Abarwanizi+ ba Yuda na Benyamini bumvise ko abavuye mu Bunyagano+ bariko bubakira urusengero Yehova Imana ya Isirayeli, 2 baca begera Zerubabeli+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru, bababwira bati: “Dufadikanye namwe kwubaka+; kuko turondera Imana yanyu+ cokimwe namwe, kandi turayishikanira ibimazi kuva mu misi ya Esari-hadoni+ umwami wa Ashuri, uwatuzanye ng’aha+.” 3 Ariko Zerubabeli na Yeshuwa+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru ba Isirayeli basigaye bababwira bati: “Nta co muhuriyeko natwe ku bijanye no kwubakira inzu Imana yacu+, kuko twebwe ubwacu tuzokwubakira Yehova Imana ya Isirayeli turi hamwe, nk’uko nyene Umwami Kuro+ umwami w’Ubuperesi yadutegetse.”
4 Nuko abanyagihugu baguma badendebura+ amaboko y’abantu bo muri Yuda, babavuna umutima ngo ntibubake+, 5 bongera bahera+ abajanama ngo bahindure ubusa impanuro yabo imisi yose ya Kuro umwami w’Ubuperesi gushika ku ngoma ya Dariyo+ umwami w’Ubuperesi. 6 Ku ngoma ya Ahasuwerusi, mu ntango y’ingoma yiwe, bandika ikirego+ co kurega ababa muri Yuda n’i Yeruzalemu. 7 Mu misi ya Aritazeruzi na ho nyene, Bishilamu, Mitiredati, Tabeyeli na bagenziwe basigaye bandikira Aritazeruzi umwami w’Ubuperesi; igisomwa c’iryo kete cari canditse mu ndome z’igiharameya kandi gihinduwe mu rurimi rw’igiharameya+.
8 Rehumu umukuru w’abakozi b’intwaro na Shimushayi umwanditsi bandikira Aritazeruzi umwami ikete ryo kurega Yeruzalemu rigira riti: 9 Maze Rehumu+ umukuru w’abakozi b’intwaro na Shimushayi umwanditsi na bagenzi babo basigaye, abacamanza na ba buramatari batobato bo hakurya ya rwa Ruzi+, abanyamabanga+, abantu b’i Ereki+, Abanyababiloni+, ababa i Susa+, ari bo Belamu+, 10 n’amahanga asigaye+, ayo wa muntu akomeye kandi ahambaye Asenapari+ yatwaye mu bunyagano maze akabashira mu bisagara vya Samariya+, n’abasigaye bo hakurya ya rwa Ruzi, . . .; nuko rero 11 ng’iyi ikopi y’ikete barungitse ku bijanye n’ico kintu:
“Kuri Aritazeruzi umwami+, ni twebwe abasuku bawe, abagabo bo hakurya ya rwa Ruzi: Nuko rero 12 umwami namenye yuko ba Bayuda baduga ino aho turi bavuye iwawe bashitse i Yeruzalemu. Bariko bubaka ca gisagara c’ikigarariji kandi kibi; bagira barangize kwubaka impome+ no gusanasana imishinge. 13 Umwami namenye rero yuko iki gisagara nicasubira kwubakwa kandi impome zaco zikarangira, ata kori+ canke ikibuguro+ canke itagisi ry’inzira bazotanga, kandi ivyo bizotera uruhombo ibigega+ vy’abami. 14 Nuko rero, kubera ko turya umunyu wo ku kirimba, kandi bikaba bitabereye ko tubona ingene bakoba umwami, ni co gituma turungitse ubutumwa tukabimenyesha umwami, 15 kugira ngo hagirwe itohoza mu gitabu c’inyandiko z’ivyabaye+ ca ba sokuruza bawe. Maze muri ico gitabu c’inyandiko z’ivyabaye uzobona wongere umenye yuko ico gisagara ari igisagara c’ikigarariji kandi gitera uruhombo abami n’intara z’ubutware, be n’uko camye kirimwo abatera umugumuko kuva mu misi ya kera. Ni co catumye ico gisagara kigirwa igiharabuga+. 16 Turamenyesheje umwami yuko ico gisagara nicasubira kwubakwa kandi impome zaco zikarangira, ata muturi rero uzoba koko ukironka hakurya ya rwa Ruzi+.”
17 Umwami arungikira inyishu Rehumu+ umukuru w’abakozi b’intwaro, na Shimushayi umwanditsi, na bagenzi babo basigaye+ baba i Samariya, n’abasigaye bo hakurya ya rwa Ruzi, ati:
“Ndabaramukije+! Nuko rero 18 urwandiko rwemewe mwaturungikiye rwarasomewe imbere yanje mu buryo butomoye. 19 Nanje rero naratanze itegeko, baratohoza+ maze basanga kuva mu misi ya kera ico gisagara camye ari igisagara kigarariza abami kikaba n’igisagara camye kiberamwo ubugarariji n’umugumuko+. 20 Harabayeho abami bakomeye+ baganza Yeruzalemu bagatwara n’intara yose yo hakurya ya rwa Ruzi+; barahabwa ikori n’ikibuguro n’itagisi ry’inzira+. 21 Ubu rero, nimutange itegeko abo bagabo bahagarike igikorwa, kugira ngo ico gisagara ntigisubire kwubakwa gushika ntanze itegeko. 22 Mugabe rero ntihagire urwangara ruba mu bijanye no kugira ico mukoze muri ivyo, kugira ngo inabi ntiyongerekane ngo abami bahahombere+.”
23 Nuko nya kopi y’urwandiko rwemewe rwa Aritazeruzi umwami imaze gusomerwa imbere ya Rehumu+ na Shimushayi+ umwanditsi na bagenzi babo+, baca bagenda ningoga i Yeruzalemu ku Bayuda, maze bababuza kubandanya igikorwa bakoresheje inguvu z’ibirwanisho+. 24 Ico gihe ni ho igikorwa c’inzu y’Imana yari i Yeruzalemu cahagarara; kiguma gihagaze gushika mu mwaka ugira kabiri w’ingoma ya Dariyo+ umwami w’Ubuperesi.
5 Nuko Hagayi+ umuhanuzi na Zekariya+ umwuzukuru wa Ido+ umuhanuzi bavuga ubuhanuzi mw’izina+ ry’Imana ya Isirayeli yari hejuru yabo+, babwira Abayuda bari muri Yuda n’i Yeruzalemu. 2 Ico gihe ni ho Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki bahaguruka bagatangura gusubira kwubaka inzu y’Imana yari i Yeruzalemu; bari kumwe n’abahanuzi b’Imana+ babafasha. 3 Ico gihe Tatenayi+ buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi+ na Shetari-bozenayi na bagenzi babo baza kuri bo, bababwira bati: “Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyo nzu no kurangiza ico kintu cubakishijwe ibigiga+?” 4 Maze bababwira bati: “Amazina y’abagabo bariko bubaka iyi nyubakwa ni ayahe?” 5 Kandi ijisho+ ry’Imana yabo ryari ku+ bagabo b’inararibonye b’Abayuda, ntibabahagarika gushika bimenyeshejwe Dariyo maze urwandiko rwemewe rujanye n’ico kintu rukagaruka.
6 Ng’iyi ikopi+ y’ikete Tatenayi buramatari+ wo hakurya ya rwa Ruzi+ na Shetari-bozenayi+ na bagenziwe+, ba buramatari batobato bari hakurya ya rwa Ruzi, barungikiye Dariyo umwami; 7 bamurungikira ubutumwa, muri bwo hakaba hari handitswe ngo:
“Kuri Dariyo umwami:
“Gira amahoro+! 8 Umwami namenye yuko twagiye mu ntara y’ubutware+ ya Yuda, ku nzu ya ya Mana ihambaye+; iriko yubakishwa amabuye atembagazwa* gushika mu kibanza cayo, kandi n’ibiti biriko birashirwa mu mpome; ico gikorwa bariko baragikora babishashaye kandi kiriko kiratera imbere mu maboko yabo. 9 Twarabajije rero abo bagabo b’inararibonye. Ibi ni vyo twababwiye: ‘Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyo nzu no kurangiza ico kintu cubakishijwe ibigiga+?’ 10 Vyongeye, twarababajije amazina yabo ngo tuyakumenyeshe, kugira ngo twandike amazina y’abagabo babarongōye+.
11 “Ibi rero ni vyo batwishuye: ‘Turi abasavyi b’Imana y’amajuru n’isi+, kandi turiko dusubira kwubaka inzu yari yarubatswe kera, ubu hakaba haciye imyaka myinshi, iyo umwami ahambaye wa Isirayeli yubatse akayirangiza+. 12 Ariko kubera yuko ba data bateye ishavu+ Imana y’amajuru, yarabatanze+ mu kuboko kwa Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni Umukaludaya+, maze uno abomora iyi nzu+ yongera atwara abantu mu bunyagano i Babiloni+. 13 Yamara rero, mu mwaka wa mbere wa Kuro+ umwami wa Babiloni, Kuro umwami yaratanze itegeko ryo gusubira kwubaka iyi nzu y’Imana+. 14 Vyongeye, ivyombo vy’inzahabu n’ifeza+ vyo mu nzu y’Imana Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero+ rwari i Yeruzalemu akabijana mu rusengero rw’i Babiloni, ivyo vyombo Kuro umwami+ yarabisohoye mu rusengero rw’i Babiloni, maze bihabwa Sheshibazari+, rino rikaba ari izina ry’uwo yagize buramatari+. 15 Hanyuma amubwira ati: “Tora ibi vyombo+. Genda ubishire mu rusengero ruri i Yeruzalemu, kandi inzu y’Imana isubire kwubakwa mu kibanza cayo+.” 16 Igihe uwo Sheshibazari yaza, yarashinze imishinge y’inzu y’Imana+ yari i Yeruzalemu; kuva ico gihe gushika ubu, iriko isubira kwubakwa, mugabo ntirarangira+.’
17 “Nuko rero, nimba umwami abona ko ari vyiza, nihagirwe itohoza+ mu nzu y’amatunga y’umwami iri ng’aho i Babiloni, barabe ko vyoba ari ivy’ukuri yuko hari itegeko+ ryatanzwe na Kuro umwami ryo gusubira kwubaka iyo nzu y’Imana i Yeruzalemu; maze ingingo y’umwami ijanye n’ico kintu ayiturungikire.”
6 Ico gihe ni ho Dariyo umwami yatanga itegeko, maze bagira itohoza mu nzu y’inyandiko z’ivyabaye+ yabikwamwo ibintu vy’agaciro ng’aho i Babiloni. 2 Nuko i Ekibatana, mu kibanza gikingijwe ibihome cari mu ntara y’ubutware y’Ubumedi+, huburwa umuzingo, ukaba wari wanditswemwo ubutumwa bugira buti:
3 “Mu mwaka wa mbere wa Kuro umwami+, Kuro umwami yaratanze itegeko ryerekeye inzu y’Imana i Yeruzalemu: Iyo nzu nisubire kwubakwa ibe ahantu bashikanira ibimazi+, kandi imishinge yayo ishimangirwe; amahagarara yayo azobe amatambwe* mirongo itandatu, ubwaguke bwayo na bwo bube amatambwe mirongo itandatu+, 4 igire imirongo itatu y’amabuye atembagazwa*+ gushika mu kibanza cayo, n’umurongo umwe w’ibiti+; amahera azokoreshwa kuri yo aze ave ku nzu y’umwami+. 5 Vyongeye, ivyombo vy’inzahabu n’ifeza+ vy’inzu y’Imana Nebukadinezari+ yakuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu akabizana i Babiloni nibisubizwe, kugira ngo bijanwe ku rusengero ruri i Yeruzalemu, mu kibanza cavyo, bishirwe mu nzu y’Imana+.
6 “Nuko rero Tatenayi+ buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi+, na Shetari-bozenayi+ na bagenzi banyu, ba buramatari+ batobato bari hakurya ya rwa Ruzi, ntimwegere aho hantu+. 7 Nimureke igikorwa co kuri iyo nzu y’Imana+. Buramatari w’Abayuda n’abagabo b’inararibonye b’Abayuda bazosubira kwubaka iyo nzu y’Imana mu kibanza cayo. 8 Kandi ntanze itegeko+ ku vyo muzokorera abo bagabo b’inararibonye b’Abayuda, kugira ngo iyo nzu y’Imana isubire kwubakwa; abo bagabo bazoze barahabwa+ bidatevye amahera yo gukoresha avuye mu kigega c’umwami+ c’ikori ritozwa hakurya ya rwa Ruzi, bayahabwe ubudasiba+. 9 Kandi ibikenewe, ni ukuvuga ibimasa+ n’impfizi z’intama+ n’imyagazi y’intama+ bigenewe amashikanwa aturirwa ahabwa Imana yo mw’ijuru, ingano+, umunyu+, umuvinyu+ n’amavuta+, nk’uko abaherezi bari i Yeruzalemu bazovuga, ntibaze babure kwama babihabwa ku musi ku musi; 10 kugira ngo bame+ bashikiriza Imana y’amajuru amashikanwa aruhura+ bongera basengera ubuzima bw’umwami n’ubw’abahungu biwe+. 11 Ntanze itegeko yuko umuntu wese azorenga+ iyi ngingo ishinzwe, bazorandura igiti+ mu nzu yiwe maze amanikwe+ kuri co, kandi inzu yiwe izohindurwa akazu ka surwumwe ka bose ku bw’ivyo+. 12 Imana yatumye izina ryayo+ riba ng’aho, iragatembagaza umwami wese n’igisata cose bizobangura ukuboko ngo birenge iri tegeko bigasambura+ iyo nzu y’Imana iri i Yeruzalemu. Jewe Dariyo ntanze itegeko. Nirikurikizwe bidatevye.”
13 Maze Tatenayi buramatari wo hakurya ya rwa Ruzi+, na Shetari-bozenayi+ na bagenzi babo, bakora bidatevye nk’uko Dariyo umwami yari yategetse. 14 Abagabo b’inararibonye+ b’Abayuda baguma bubaka+ bongera batera imbere kubera amajambo y’ubuhanuzi ya Hagayi+ umuhanuzi na Zekariya+ umwuzukuru wa Ido+, barayubaka barayirangiza bivuye kw’itegeko ry’Imana ya Isirayeli+ no kw’itegeko rya Kuro+ na Dariyo+ na Aritazeruzi+ umwami w’Ubuperesi. 15 Barangiza iyo nzu ku musi ugira gatatu w’ukwezi* kwa Adari+, ni ukuvuga mu mwaka ugira gatandatu w’ingoma ya Dariyo umwami.
16 Nuko bene Isirayeli, abaherezi n’Abalewi+ n’abasigaye mu bahora ari inyagano+, bahimbaza ibirori vyo kwinjira+ iyo nzu y’Imana bafise akanyamuneza. 17 Maze ku bw’ukwinjira iyo nzu y’Imana, bashikana amashūri ijana, impfizi z’intama amajana abiri, imyagazi y’intama amajana ane, hanyuma bwa shikanwa ry’igicumuro rya Isirayeli yose bashikana amasuguru y’impene cumi n’abiri, bakurikije igitigiri c’imiryango ya Isirayeli+. 18 Bashira abaherezi mu migwi yabo n’Abalewi mu mice yabo+, ngo bakore igikorwa c’Imana kiri i Yeruzalemu, hakurikijwe itegeko ryo mu gitabu ca Musa+.
19 Maze abahora ari inyagano batangura guhimbaza pasika*+ ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa mbere+. 20 Kubera ko abaherezi n’Abalewi bari bihumanuye+ uko ari umugwi, bose bari abadahumanye; nuko bakerera imbagwa ya pasika+ ku bw’abahora ari inyagano bose no ku bwa bene wabo abaherezi no ku bwabo. 21 Hanyuma bene Isirayeli bari baragarutse bavuye mu Bunyagano bararya+, n’umuntu wese yari yaritandukanije n’ubuhumane+ bw’amahanga y’ico gihugu akabiyungako, kugira arondere Yehova Imana ya Isirayeli+. 22 Maze bahimbaza umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+ mu kiringo c’imisi indwi banezerewe; kuko Yehova yari yatumye banezerwa, kandi yari yarahindukirije+ kuri bo umutima w’umwami wa Ashuri kugira akomeze amaboko yabo mu gikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri, Imana ya Isirayeli.
7 Inyuma y’ivyo bintu, ku ngoma ya Aritazeruzi+ umwami w’Ubuperesi, Ezira+ mwene Seraya+, Seraya mwene Azariya, Azariya mwene Hilikiya+, 2 Hilikiya mwene Shalumu+, Shalumu mwene Zadoki, Zadoki mwene Ahitubu+, 3 Ahitubu mwene Amariya+, Amariya mwene Azariya+, Azariya mwene Merayoti+, 4 Merayoti mwene Zerahiya+, Zerahiya mwene Uzi+, Uzi mwene Buki+, 5 Buki mwene Abishuwa+, Abishuwa mwene Finehasi+, Finehasi mwene Eleyazari+, Eleyazari mwene Aroni+ umukuru w’abaherezi+— 6 uwo Ezira araduga avuye i Babiloni; yari umwimuzi w’umuhanga+ mu bijanye n’itegeko rya Musa+, iryo Yehova Imana ya Isirayeli yari yaratanze, ku buryo umwami amuha ivyo yasavye vyose akurikije ukuboko kwa Yehova Imana yiwe kwari kuri we+.
7 Nuko bamwe muri bene Isirayeli no mu baherezi+, n’Abalewi+, n’abaririmvyi+, n’abarinzi b’amarembo+, n’Abanetinimu+, baduga i Yeruzalemu mu mwaka ugira indwi wa Aritazeruzi+ umwami. 8 Amaherezo ashika i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatanu, ni ukuvuga mu mwaka ugira indwi w’umwami. 9 Kuko ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, we ubwiwe yashinze ivyo kuduga avuye i Babiloni, maze ashika i Yeruzalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu, akurikije ukuboko kwiza kw’Imana kwari kuri we+. 10 Kuko Ezira yari yarateguriye+ umutima wiwe gusuzuma itegeko rya Yehova+, kurikurikiza+ no kwigisha+ muri Isirayeli ingingo nyobozi+ be n’ubutungane+.
11 Ng’iyi ikopi y’ikete Umwami Aritazeruzi yahaye Ezira umuherezi, wa mwimuzi+, umwimuzi w’amajambo yo mu mabwirizwa ya Yehova akaba n’umwimuzi w’ingingo nyobozi ziwe zashiriweho Isirayeli:
12 “Aritazeruzi+, umwami w’abami+, kuri Ezira umuherezi, umwimuzi w’itegeko ry’Imana y’amajuru+: Gira amahoro y’umusesekara+! Ubu rero 13 ntanze itegeko+: mu karere ntwara+, umuntu wese wo mu bantu ba Isirayeli n’abaherezi babo n’Abalewi babo agomba kujana nawe i Yeruzalemu, nagende+. 14 Kubera ko itegeko ryarungitswe rivuye imbere y’umwami n’abajanama biwe indwi+ kugira ngo hagirwe itohoza+ ku vyerekeye Yuda na Yeruzalemu mu buryo buhuye n’itegeko+ ry’Imana yawe+ riri mu kuboko kwawe, 15 no kugira ngo hajanwe ifeza n’inzahabu umwami n’abajanama biwe bahaye babikunze+ Imana ya Isirayeli iba i Yeruzalemu+, 16 be n’ifeza zose n’inzahabu uzosanga mu ntara y’ubutware yose ya Babiloni hamwe n’ingabirano y’abantu+ n’iy’abaherezi batanga babikunze ku bw’inzu y’Imana yabo+ iri i Yeruzalemu; 17 ayo mahera rero uzoce buno nyene uyagura amashūri+, impfizi z’intama+, imyagazi y’intama+ n’amashikanwa yayo y’intete+ n’amashikanwa yayo y’ikinyobwa+ uheze ubishikane ku gicaniro c’inzu y’Imana yanyu+ iri i Yeruzalemu+.
18 “Kandi ifeza n’inzahabu bisigaye+, wewe na bene wanyu muze mubikoreshe ico muzobona ko kibereye+, mukurikije ivyo Imana yanyu igomba+. 19 Ivyombo+ uhawe ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana yawe uze ubishikane vyose imbere y’Imana i Yeruzalemu+. 20 Ibisigaye mu bintu vya nkenerwa vy’inzu y’Imana yawe ubwirizwa gutanga, uze ubitange ubikuye mu nzu y’amatunga y’umwami+.
21 “Nanje ubwanje, jewe Aritazeruzi umwami, mpaye itegeko+ abanyabigega+ bose bari hakurya ya rwa Ruzi+, yuko ikintu cose Ezira+ umuherezi, wa mwimuzi w’itegeko ry’Imana y’amajuru, azobasaba kizokorwa bidatevye, 22 ahabwe no gushika kw’italanto ijana+ z’ifeza n’ingero ijana za koro*+ z’ingano n’ingero ijana za bati*+ z’umuvinyu+ n’ingero ijana za bati z’amavuta+, n’umunyu+ utagira urugero. 23 Ikintu cose gitegetswe+ n’Imana y’amajuru kize gikoranwe umwete+ ku bw’inzu y’Imana y’amajuru+, kugira ngo akarere umwami atwara n’abahungu biwe ntibirakirwe+. 24 Namwe mumenyeshejwe yuko uwo ari we wese mu baherezi+ n’Abalewi+, abacuraranzi+, abarinzi b’imiryango+, Abanetinimu+, n’abakozi b’iyi nzu y’Imana, bitemewe kumutangisha ikori canke ikibuguro+ canke itagisi ry’inzira+.
25 “Nawe Ezira, wisunze ubukerebutsi+ bw’Imana yawe buri mu kuboko kwawe, nugene ibisongerezi vy’abacamanza n’abacamanza kugira ngo bagume bacira imanza+ abantu bose bari hakurya ya rwa Ruzi, egome, abazi amategeko y’Imana yawe bose; kandi uwutayazi wese muze muyamwigishe+. 26 Nayo umuntu wese atazokurikiza itegeko ry’Imana yawe+ n’itegeko ry’umwami, aze ashitsweko urubanza bidatevye, rwaba urwo gupfa+ canke urwo kwomorwa+, canke urwo gutanga amande y’amahera+ canke urwo gufungwa.”
27 Hahezagirwe Yehova Imana ya ba sogokuruza bacu+, we yashize ikintu nk’ico mu mutima+ w’umwami, kugira ngo asharize+ inzu ya Yehova iri i Yeruzalemu! 28 Kandi yarangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+ imbere y’umwami n’abajanama+ biwe no ku baganwa bakomeye b’umwami bose. Nanje narikomeje nk’uko ukuboko+ kwa Yehova Imana yanje kwari kuri jewe, maze ntangura kwegeranya muri Isirayeli abakuru kugira badugane nanje.
8 Aba rero ni bo bari abakuru b’amazu ya ba sekuru+ yabo n’abanditswe hisunzwe amamuko+, bakaba ari abo twaduganye tuvuye i Babiloni mu gihe c’ingoma ya Aritazeruzi+ umwami: 2 Muri bene Finehasi+ ni Gerishomu; muri bene Itamari+ ni Daniyeli+; muri bene Dawidi+ ni Hatushi; 3 muri bene Shekaniya, muri bene Paroshi+ ni Zekariya, akaba yari kumwe n’abanditswe ijana na mirongo itanu b’igitsina-gabo; 4 muri bene Pahati-mowabu+ ni Eliyeho-enayi mwene Zerahiya, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo amajana abiri; 5 muri bene Zatu+ ni Shekaniya mwene Yahaziyeli, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo amajana atatu; 6 muri bene Adini+ ni Ebedi mwene Yonatani, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo mirongo itanu; 7 muri bene Elamu+ ni Yeshaya mwene Ataliya, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo mirongo irindwi; 8 muri bene Shefatiya+ ni Zebadiya mwene Mikaheli, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo mirongo umunani; 9 muri bene Yowabu ni Obadiya mwene Yehiyele, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo amajana abiri na cumi n’umunani; 10 muri bene Bani+ ni Shelomiti mwene Yosifiya, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo ijana na mirongo itandatu; 11 muri bene Bebayi ni Zekariya mwene Bebayi+, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo mirongo ibiri n’umunani; 12 muri bene Azigadi+ ni Yohanani mwene Hakatani, akaba yari kumwe n’ab’igitsina-gabo ijana na cumi; 13 muri bene Adonikamu+ ni ababaye aba nyuma, aya akaba ari yo yari amazina yabo: Elifeleti, Yeyeli na Shemaya, bakaba bari kumwe n’ab’igitsina-gabo mirongo itandatu; 14 muri bene Bigivayi+ ni Utayi na Zabudi, bakaba bari kumwe n’ab’igitsina-gabo mirongo irindwi.
15 Nuko ntangura kubegeraniriza ku ruzi+ ruja i Ahava+; tuguma dukambitse ng’aho imisi itatu, kugira nsuzume nitonze abantu+ n’abaherezi+, mugabo nta n’umwe muri bene Lewi+ nasanze ng’aho. 16 Nuko ntuma kurondera Eliyezeri na Ariyeli na Shemaya na Elinatani na Yaribu na Elinatani na Natani na Zekariya na Meshulamu bari abakuru, be na Yoyaribu na Elinatani bari abigisha+. 17 Maze ndabaha itegeko ryo kuja kuri Ido umukuru w’ahantu hitwa Kasifiya, hanyuma nshira mu kanwa kabo amajambo+ yo kubwira Ido na bene wabo Abanetinimu+ aho hantu hitwa Kasifiya, kugira ngo batuzanire abasuku+ bo gukora ku nzu y’Imana yacu. 18 Nuko, hisunzwe ukuboko kwiza+ kw’Imana yacu kwari kuri twebwe, batuzanira umugabo yiyubara+ wo muri bene Mahili+ umwuzukuru wa Lewi+ mwene Isirayeli, ari we Sherebiya+ n’abahungu biwe na bene wabo, bagera kuri cumi n’umunani; 19 na Hashabiya ari kumwe na Yeshaya wo muri bene Merari+, bene wabo, hamwe n’abahungu babo, bagera kuri mirongo ibiri. 20 Mu Banetinimu na ho, abo Dawidi n’abaganwa batanze ku bw’igikorwa c’Abalewi, hazanwa Abanetinimu amajana abiri na mirongo ibiri, bose bakaba bari baravuzwe amazina.
21 Maze ng’aho ku ruzi Ahava ntangaza ko haba ukwisonzesha, kugira twicishe bugufi+ imbere y’Imana yacu, ngo tuyibaze inzira ibereye+ twojana twe n’abana bacu batoyi+ n’ibintu vyacu vyose. 22 Kuko vyanteye isoni gusaba umwami inteko za gisirikare+ n’abagendera ku mafarasi+ bo kudufasha kurwanya umwansi mu nzira, kubera ko twari twabwiye umwami duti: “Ukuboko+ kw’Imana yacu kuri ku bayirondera bose ngo ibagirire neza+, mugabo inkomezi zayo n’ishavu ryayo+ birwanya abayiheba bose+.” 23 Turisonzesha rero+, dusaba+ Imana yacu ku bijanye n’ico kintu, bituma yemera ko tuyinginga+.
24 Nuko mu bakuru b’abaherezi nshira ku ruhande cumi na babiri, ari bo Sherebiya+ na Hashabiya+, bari kumwe na cumi muri bene wabo. 25 Maze ndabapimira ifeza n’inzahabu n’ibikoresho+, intererano ku bw’inzu y’Imana yacu yari yatanzwe n’umwami+ n’abajanama biwe+ n’abaganwa biwe n’Abisirayeli bose+ bari bahari. 26 Gutyo ndabapimira italanto amajana atandatu na mirongo itanu z’ifeza+ n’ibikoresho ijana vy’ifeza biciye italanto zibiri, n’italanto ijana z’inzahabu, 27 n’amabakure matomato mirongo ibiri y’inzahabu aciye amadariki* igihumbi n’ibikoresho bibiri vy’umujumpu mwiza, w’ibara ritukura rikayangana, vy’igiciro nk’inzahabu.
28 Maze ndababwira nti: “Muri ikintu ceranda+ kuri Yehova, n’ibi bikoresho+ ni ikintu ceranda, kandi izi feza n’izi nzahabu ni ishikanwa ritangwa ku bushake ryahawe Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu. 29 Mugume murikanuye kandi mwiyubare gushika mubipimiye+ imbere y’abakuru b’abaherezi n’Abalewi n’abaganwa b’amazu ya ba se ba Isirayeli i Yeruzalemu, mu vyumba vy’uburiro+ vy’inzu ya Yehova.” 30 Nuko abaherezi n’Abalewi bakira izo feza n’izo nzahabu n’ivyo bikoresho nk’uko uburemere bwavyo bwangana, kugira ngo babijane i Yeruzalemu ku nzu y’Imana yacu+.
31 Amaherezo turagenda tuvuye ku ruzi Ahava+ ku musi ugira cumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere+ kugira tuje i Yeruzalemu, kandi ukuboko kw’Imana yacu kwari kuri twebwe bituma iturokora+ mu kiganza c’umwansi n’ic’abari batubundiye iruhande y’inzira. 32 Nuko dushika i Yeruzalemu+ maze tubayo imisi itatu. 33 Ku musi ugira kane dutangura gupima za feza na za nzahabu+ na vya bikoresho+ mu nzu y’Imana yacu, tuzipimira Meremoti+ mwene Uriya umuherezi, uwari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, bano bakaba bari kumwe na Yozabadi+ mwene Yeshuwa na Nowadiya mwene Binuwi+ Abalewi, 34 dukurikije igitigiri n’uburemere bw’ikintu cose, hanyuma uburemere bwose burandikwa ico gihe. 35 Abari bavuye mu bunyagano, abahora ari inyagano+, bashikiriza Imana ya Isirayeli ibimazi biturirwa+: amashūri cumi n’abiri+ ku bwa Isirayeli yose, impfizi z’intama mirongo icenda na zitandatu+, imyagazi y’intama y’amasuguru mirongo irindwi n’indwi, amasuguru y’impene cumi n’abiri+ bwa shikanwa ry’igicumuro, vyose bishikanwa bwa shikanwa riturirwa rihabwa Yehova.
36 Maze duha amategeko+ y’umwami abakuru b’intara+ b’umwami na ba buramatari+ bo hakurya ya rwa Ruzi+, na bo basahiriza abantu+ n’inzu y’Imana y’ukuri.
9 Ivyo bikimara kurangira, abaganwa+ begera aho ndi, bavuga bati: “Abantu ba Isirayeli n’abaherezi n’Abalewi ntibitandukanije+ n’abantu bo muri ibi bihugu ku bijanye n’ibintu vyabo biteye ishishi+, abo na bo bakaba ari Abanyakanani+, Abaheti+, Abaperizi+, Abayebusi+, Abamoni+, Abanyamowabu+, Abanyamisiri+ n’Abamori+. 2 Kuko bemeye kwabira bamwe mu bakobwa babo bakemera n’uko bamwe mu bakobwa babo babirwa n’abahungu babo+; kandi ubwabo, bo ruvyaro rweranda+, barivanze+ n’abantu bo muri ivyo bihugu, kandi ukuboko kw’abaganwa n’ivyegera vy’abatware kwabaye ukwa mbere+ muri ubwo buhemu.”
3 Nkimara kwumva ico kintu, nca ntantamura impuzu yanje+ n’umwitero wanje utagira amaboko, ntangura gushikura umushatsi wo ku mutwe wanje+ n’ubwanwa bwanje, nguma nicaye njumarariwe+. 4 Vyongeye kuri jewe hakoranira abantu bose bariko bajugumira+ kubera amajambo y’Imana ya Isirayeli yiyamiriza ubuhemu bw’abajanywe ari inyagano, mu gihe nari nicaye njumarariwe gushika igihe c’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+.
5 Igihe c’ishikanwa ry’intete+ ryo ku mugoroba kigeze, ndahaguruka mva aho nari nicaye nteterewe, impuzu yanje n’umwitero wanje utagira amaboko vyatantamutse, maze ndapfukama+, ngaranzurira ibiganza Yehova Imana yanje+. 6 Ndaheza mvuga+ nti: “Ewe Mana yanje, numva koko maramaye+ kandi mfise ubuyega+ ku buryo ntoraramurira mu maso hanje kuri wewe, ewe Mana yanje, kuko amakosa+ yacu yagwiriye ku mutwe wacu, ukwagirwa n’icaha kwacu na kwo kukaba kwabaye kwinshi gushika no mu majuru+. 7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza bacu+ twamye twagirwa n’icaha bimwe bikomeye gushika n’uyu musi+; kandi amakosa yacu ni yo yatumye twe n’abami bacu+ n’abaherezi bacu+ dutangwa mu kuboko kw’abami b’ibi bihugu, turicishwa inkota+, tugirwa imbohe+, turasahurwa+ kandi tugira ibimaramare ku maso+, nk’uko biri uyu musi. 8 Ubu na ho, Yehova Imana yacu atugiriye ubutoni+ akanya gato mu kudusigariza abacitse kw’icumu+ no mu kuduha ikibanza kitagira inkomanzi* ahantu hiwe heranda, kugira akayanganishe amaso yacu+, ewe Mana yacu, no kugira atugarurire agatege mu bushumba bwacu+. 9 Kuko turi abasuku+; kandi Imana yacu ntiyaturekeye mu bushumba bwacu+, mugabo itugirira ubuntu bwuzuye urukundo imbere y’abami b’Ubuperesi+, kugira ngo itugarurire agatege duheze duhagurutse inzu y’Imana yacu+ twongere tunagure ahantu hayo hacitse umusaka+, no kugira ngo iduhe uruhome rw’amabuye+ muri Yuda n’i Yeruzalemu.
10 “None ga Mana yacu, tuvuge iki inyuma y’ivyo? Kuko twahevye amabwirizwa yawe+, 11 ayo wategetse biciye ku basavyi bawe abahanuzi, uti: ‘Igihugu mugiyemwo kugira ngo mucigarurire ni igihugu gihumanye kubera ubuhumane bw’abantu bo muri ivyo bihugu+, kubera ibintu vyabo biteye ishishi+ bacujuje kuva ku mpera gushika ku yindi+ biciye ku buhumane bwabo+. 12 Ubu rero abakobwa banyu ntimubahe abahungu babo+, canke ngo abakobwa babo mwemere ko babirwa n’abahungu banyu; kandi gushika igihe kitagira urugero ntimuze mukore murondera amahoro yabo+ canke ugutunganirwa kwabo, kugira mukomere+, murye vy’ukuri ivyiza vy’igihugu mwongere mucigarurire koko ku bw’abahungu banyu, gushika igihe kitagira urugero+.’ 13 Inyuma y’ivyadushikiye vyose kubera ibikorwa bibi vyacu+ n’ukwagirwa n’icaha kwacu gukomeye—kuko wewe, ewe Mana yacu, utatugiriye ibihuye n’ikosa ryacu+, ukaba uduhaye abacitse kw’icumu nk’aba+— 14 twongere none turenge amabwirizwa yawe, twunge ubucuti bw’ukwabirana+ n’abantu bakora ibi bintu biteye ishishi+? Mbega ntuzotururumbira ishavu ugaherezako+ ku buryo ata n’umwe azosigara+, ntihagire n’uwucika kw’icumu? 15 Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, uragororotse+, kuko dusigaye turi abantu bacitse kw’icumu, nk’uko biri uyu musi. Ehe turi imbere yawe twagirwa n’icaha+, kuko tudashobora guhagarara imbere yawe kubera ico+.”
10 Nuko Ezira akimara gusenga+ no kwatura+ ivyo bicumuro arira, kandi yubaraye hasi+ imbere y’inzu+ y’Imana y’ukuri, abo muri Isirayeli bakoranira kuri we, ishengero rinini cane, abagabo n’abagore n’abana, kuko abantu bari barize cane. 2 Maze Shekaniya mwene Yehiyele+ wo muri bene Elamu+ arishura, abwira Ezira ati: “Twebwe twarahemutse ku Mana yacu twabira abagore b’abanyamahangakazi bo mu bantu b’iki gihugu+. Yamara ubu hariho icizigiro+ kuri Isirayeli ku bijanye n’ico kintu. 3 Ubu rero, tugirane isezerano+ n’Imana yacu ryo kwirukana+ abagore bose n’abavutse kuri bo, dukurikije impanuro ya Yehova n’iy’abajugumira+ kubera ibwirizwa+ ry’Imana yacu, kugira ngo bigirwe hisunzwe itegeko+. 4 Haguruka, kuko ico kintu ari wewe cega, natwe turi kumwe nawe. Komera, ukore.”
5 Ezira aca ava hasi, arahiza+ abakuru b’abaherezi, Abalewi na Isirayeli yose gukora bisunze iryo jambo. Nuko bararahira. 6 Maze Ezira arahaguruka ava imbere y’inzu y’Imana y’ukuri, aja mu cumba c’uburiro+ ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Naho yagiyeyo, ntiyariye umukate+ kandi ntiyanyoye amazi, kuko yari agandaye+ kubera ubuhemu bw’abajanywe ari inyagano.
7 Maze batera akamo muri Yuda hose n’i Yeruzalemu ku bahora ari inyagano bose+, kugira ngo bakoranire i Yeruzalemu; 8 uwutoje wese+ mu kiringo c’imisi itatu, nk’uko impanuro y’abaganwa+ n’iy’abagabo b’inararibonye yari, ibintu vyiwe vyose vyonyazwe+, na we ubwiwe agacibwa+ mw’ishengero ry’abajanywe ari inyagano. 9 Nuko abagabo bose ba Yuda na Benyamini bakoranira i Yeruzalemu mu misi itatu, ni ukuvuga mu kwezi kugira icenda+, ku musi ugira mirongo ibiri w’ukwo kwezi, maze abantu bose baguma bicaye mu kibanza co hanze c’inzu y’Imana y’ukuri, basusumira kubera ico kintu no kubera imvura nyinshi+.
10 Amaherezo Ezira umuherezi arahaguruka, ababwira ati: “Mwebwe mwarahemutse kubera mwabiriye abagore b’abanyamahangakazi+ kugira mwongereze icaha ca Isirayeli+. 11 Ubu rero nimwaturire+ ibicumuro vyanyu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, mukore ibimuhimbara+ mwongere mwitandukanye n’abantu b’iki gihugu n’abagore b’abanyamahangakazi+.” 12 Ishengero ryose rica ririshura n’ijwi rirenga riti: “Tubwirizwa gukora neza na neza nk’uko uvuze+. 13 Ariko abantu ni benshi, kandi ni ikiringo c’imvura nyinshi, ntibishoboka guhagarara hanze; bisubiye, ico gikorwa ntikizotwara umusi umwe canke ibiri, kuko twagararije ku rugero runini muri ico kintu. 14 Turakwinginze rero abaganwa+ bacu baserukire ishengero ryose; nayo abo mu bisagara vyacu bose babiriye abagore b’abanyamahangakazi, bazoze ku bihe vyashinzwe bari kumwe n’abagabo b’inararibonye b’igisagara kimwekimwe cose n’abacamanza baco, gushika dusubije inyuma ishavu rirurumba ry’Imana yacu rikatuvako, kubera ico kintu.”
15 (Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikiva barwanya+ ico kintu, kandi Meshulamu na Shabetayi+ Abalewi baba ari bo babafasha.) 16 Mugabo abahora ari inyagano+ batangura gukora kuno; nuko Ezira umuherezi n’abagabo bari abakuru ba ba se ku bw’inzu ya ba sekuru+ yabo, egome, bose nk’uko amazina yabo yari, baritandukanya rero hanyuma batangura kwicara ku musi wa mbere w’ukwezi kugira cumi+ kugira ngo batohoze ico kintu+; 17 amaherezo barangiza ivy’abagabo bose bari barabiriye abagore b’abanyamahangakazi+, ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere. 18 Maze basanga mu bahungu b’abaherezi+ hari abari barabiriye abagore b’abanyamahangakazi; muri bene Yeshuwa+ mwene Yehozadaki+ na bene wabo bari Mayaseya na Eliyezeri na Yaribu na Gedaliya. 19 Mugabo basezerana mu guhana amaboko yuko birukana abagore babo, be n’uko, kubera bagirwa n’icaha+, hatangwa impfizi y’intama+ yo mu mukuku ku bw’icaha cabo.
20 Muri bene Imeri+ hari Hanani na Zebadiya; 21 muri bene Harimu+ hari Mayaseya na Eliya na Shemaya na Yehiyele na Uziya; 22 muri bene Pashuri+ hari Eliyowenayi na Mayaseya na Ishimayeli na Netaneli na Yozabadi na Eleyasa. 23 Mu Balewi hari Yozabadi na Shimeyi na Kelaya (ari we Kelita) na Petahiya na Yuda na Eliyezeri; 24 mu baririmvyi hari Eliyashibu; mu barinzi b’amarembo hari Shalumu na Telemu na Uri.
25 Muri Isirayeli: muri bene Paroshi+ hari Ramiya na Iziya na Malikiya na Miyamini na Eleyazari na Malikiya na Benaya; 26 muri bene Elamu+ hari Mataniya na Zekariya na Yehiyele+ na Abudi na Yeremoti na Eliya; 27 muri bene Zatu+ hari Eliyowenayi na Eliyashibu na Mataniya na Yeremoti na Zabadi na Aziza; 28 muri bene Bebayi+ hari Yehohanani na Hananiya na Zabayi na Atalayi; 29 muri bene Bani hari Meshulamu na Maluku na Adaya na Yashubu na Sheyali na Yeremoti; 30 muri bene Pahati-mowabu+ hari Aduna na Kelali na Benaya na Mayaseya na Mataniya na Bezaleli na Binuwi na Manase; 31 muri bene Harimu+ hari Eliyezeri na Ishiya na Malikiya+ na Shemaya na Shimeyoni, 32 na Benyamini na Maluku na Shemariya; 33 muri bene Hashumu+ hari Matenayi na Matata na Zabadi na Elifeleti na Yeremayi na Manase na Shimeyi; 34 muri bene Bani hari Mayadayi na Amuramu na Uweli, 35 na Benaya na Bedeya na Keluhi, 36 na Vaniya na Meremoti na Eliyashibu, 37 na Mataniya na Matenayi na Yayasu; 38 muri bene Binuwi hari Shimeyi 39 na Shelemiya na Natani na Adaya, 40 na Makinadebayi na Shashayi na Sharayi, 41 na Azareli na Shelemiya na Shemariya, 42 na Shalumu na Amariya na Yozefu; 43 muri bene Nebo hari Yeyeli na Matitiya na Zabadi na Zebina na Yadayi na Yoweli na Benaya. 44 Abo bose bari barabiriye abagore b’abanyamahangakazi+; nuko birukana abagore n’abana.
Canke kandi, “Abashumba b’urusengero.” Ijambo ku rindi ni “Abatanzwe.”
Ijambo ku rindi ni “Tirushata,” rino rikaba ari izina ry’icubahiro ryo mu Buperesi.
Raba Inyongera ya 21.
Mu bisanzwe idarakima yari ihwanye n’igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4. Si ya darakima ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.
Imina yapima amagarama 570. Si ya mina ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ni ukuvuga, amabuye aremereye cane ku buryo ata woshobora kuyatwara.
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Ni ukuvuga, amabuye aremereye cane ku buryo ata woshobora kuyatwara.
Ukwo kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
Raba Inyongera ya 21.
Koro imwe yangana n’amalitiro 220.
Bati imwe yangana n’amalitiro 22.
Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4.
Ijambo ku rindi ni “mu kuduha urumambo.”