ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Nehemiya 1:1-13:31
  • Nehemiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nehemiya
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Nehemiya

Nehemiya

1 Amajambo ya Nehemiya+ mwene Hakaliya: Mu kwezi kwa Kisilevu+, mu mwaka ugira mirongo ibiri+, nari mu kirimba Shushani+. 2 Maze Hanani+ umwe muri bene wacu arinjira, we n’abandi bagabo bavuye muri Yuda, hanyuma ntangura kubabaza+ amakuru y’Abayuda+, abari baracitse kw’icumu+, amasigarira y’abari barajanywe mu bunyagano+, n’amakuru ya Yeruzalemu. 3 Nuko bambwira bati: “Abasigaye, amasigarira y’abari barajanywe mu bunyagano, hariya mu ntara y’ubutware+, bamerewe nabi cane+ kandi bari mu ceyi+; uruhome+ rwa Yeruzalemu rwarasenyutse, amarembo yaho+ na yo yaraturijwe umuriro.”

4 Ncumva ayo majambo, nca ndicara ntangura kurira, mara imisi ngandaye; nguma nisonzesha+ nongera nsenga imbere y’Imana y’amajuru+. 5 Maze mvuga nti: “Ewe Yehova Mana y’amajuru, Mana ihambaye kandi iteye ubwoba+, igumya isezerano+ ku bayikunda+ kandi bakagumya amabwirizwa yayo+ ikongera ikabagirira ubuntu bwuzuye urukundo, 6 ndakwinginze, ugutwi kwawe kwumvirize+ n’amaso yawe yuguruke, kugira ngo wumvirize isengesho ry’umusavyi wawe+, iryo ndiko ntura imbere yawe uyu musi, ku murango no mw’ijoro+, ku vyerekeye bene Isirayeli abasavyi bawe, natura+ ibicumuro+ vya bene Isirayeli twagucumuyeko. Twaracumuye, jewe n’inzu ya dawe+. 7 Vy’ukuri twarakoze nabi imbere yawe+ kandi ntitwagumije amabwirizwa+ n’ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane*+ wategetse biciye kuri Musa umusavyi wawe+.

8 “Ndakwinginze wibuke+ ijambo wategetse Musa umusavyi wawe uti: ‘Nimwahemuka, nzobasanzaza mu bisata vy’abantu+. 9 Nimwamara kungarukako+ mukagumya amabwirizwa yanje+, mukayashitsa+, naho abashwiragiye banyu bazoba bari ku mpera y’amajuru, nzobegeranya ndabakuyeyo+, ndabazane+ ata gukeka ahantu natoye ngo izina ryanje rihabe+.’ 10 Vyongeye, ni abasavyi bawe+ bakaba n’abantu bawe+, abo wacunguje ububasha bwawe+ buhambaye n’ikiganza cawe gikomeye+. 11 Ewe Yehova, ndakwinginze ugutwi kwawe kwumvirize isengesho ry’umusavyi wawe n’isengesho+ ry’abasavyi bawe bahimbarwa no gutinya izina ryawe+; ndakwinginze uhe umusavyi wawe kuroranirwa uno musi+, utume aba uwo kwumvirwa akagongwe imbere y’uyu mugabo+.”

Ico gihe nari uwuhereza ibinyobwa+ umwami.

2 Mu kwezi kwa Nisani*+, mu mwaka ugira mirongo ibiri+ wa Aritazeruzi+ umwami, umuvinyu wari imbere yiwe, maze nk’uko bisanzwe ntora uwo muvinyu ndawuha umwami+. Mugabo sinari bwigere nijirwa imbere yiwe+. 2 Nuko umwami ambwira ati: “Kubera iki wijiriwe mu maso+ kandi utarwaye? Ico si ikindi atari ukwijirwa kw’umutima+.” Nca ndatinya cane.

3 Maze mbwira umwami nti: “Umwami nabeho gushika igihe kitagira urugero*+! Nobura nte kwijirwa mu maso kandi igisagara+, inzu y’imva za ba sogokuruza banje+, ari umusaka, n’amarembo yaco yararigaswe n’umuriro+?” 4 Umwami na we ambwira ati: “Ushaka kuronka iki+?” Nca nsenga+ Imana y’amajuru+. 5 Hanyuma mbwira umwami nti: “Nimba umwami abona ko ari vyiza+, kandi nimba umusuku wawe abonetse ko ahimbaye imbere yawe+, wondungika muri Yuda, mu gisagara c’imva za ba sogokuruza banje, kugira nsubire kucubaka+.” 6 Nuko umwami, mu gihe umugore wiwe w’iteka yari yicaye iruhande yiwe, ambwira ati: “Urugendo rwawe ruzomara igihe kingana iki, kandi uzogaruka ryari?” Umwami abona rero yuko ari vyiza+ kundungika, maze kumubwira igihe cashinzwe+.

7 Nongera kubwira umwami nti: “Nimba umwami abona ko ari vyiza, nimpabwe amakete+ nshira ba buramatari+ bo hakurya ya rwa Ruzi+, kugira bandeke ndengane gushika nshitse muri Yuda; 8 mpabwe n’ikete nshira Asafu umurinzi w’ishamba rihimbaye ry’umwami, ngo ampe ibiti kugira nubakishe ibiti amarembo y’Ikirimba+ c’inzu+, n’ibiti bigenewe uruhome+ rw’igisagara be n’ibigenewe inzu nzobamwo.” Nuko umwami arayampa, nk’uko ukuboko kwiza kw’Imana yanje kwari kuri jewe kwari+.

9 Amaherezo nshika kuri ba buramatari+ bo hakurya ya rwa Ruzi, maze ndabaha nya makete y’umwami. Vyongeye, umwami andungikana n’abakuru b’inteko za gisirikare be n’abagendera ku mafarasi. 10 Sanibalati+ Umuhoroni+ na Tobiya+ umusuku, Umwamoni+, bavyumvise, kiba ikintu kibi cane+ kuri bo kwumva yuko hari umuntu yari yaje kuronderera ikintu ciza bene Isirayeli.

11 Amaherezo nshika i Yeruzalemu, ngumayo imisi itatu. 12 Maze ndahaguruka mw’ijoro, ndi kumwe n’abagabo bakeyi, mugabo ntihagira uwo mbwira+ ico Imana yanje yariko ishira mu mutima wanje ngo ngirire Yeruzalemu+, kandi nta gitungwa cari kumwe nanje kiretse igitungwa nariko ngenderako. 13 Nuko nsohoka mw’ijoro nciye mw’Irembo ryo ku Mubande+ n’imbere y’Isôko ry’Ikiyoka Kinini, nerekeza kw’Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota+, kandi naguma nsuzuma impome+ za Yeruzalemu, ingene zasenyutse be n’ingene amarembo+ yaho yarigaswe n’umuriro. 14 Maze ndabandanya nerekeza kw’Irembo ryo kw’Isôko+ no ku Kidengeri c’Umwami, ariko ntihaboneka aho igitungwa nariko ngenderako gica. 15 Mugabo nguma nduga mu mwonga+ mw’ijoro, nongera nsuzuma uruhome; hanyuma ndagaruka, ninjirana mw’Irembo ryo ku Mubande+, gutyo ndashika ngarutse.

16 Ivyegera vy’abatware+ ntivyari bizi iyo nagiye n’ico nariko ndakora; kandi nta na kimwe nari bwabwire Abayuda n’abaherezi n’abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware n’abasigaye mu bariko bakora igikorwa. 17 Amaherezo ndababwira nti: “Murabona ukuntu tumerewe nabi, ukuntu Yeruzalemu ari umusaka be n’ukuntu amarembo yaho yaturijwe umuriro. Nimuze dusubire twubake uruhome rwa Yeruzalemu, kugira ngo ntitubandanye kuba iceyi+.” 18 Hanyuma ndababwira ivy’ukuboko+ kw’Imana yanje, ingene kwabaye kwiza kuri jewe+, ndababwira n’ivy’amajambo y’umwami+, ayo yari yambwiye. Baca bavuga bati: “Duhaguruke, twubake.” Nuko bakomeza amaboko yabo ku bw’ico gikorwa ciza+.

19 Sanibalati+ Umuhoroni na Tobiya+ umusuku+, Umwamoni+, na Geshemu+ Umwarabu+ bavyumvise, batangura kudutwengera mw’ijigo+ no kuturabana agasuzuguro, bavuga bati: “Ico kintu muriko murakora ni igiki? Muriko muragarariza umwami+?” 20 Ariko ndabishura nti: “Imana y’amajuru+ ni yo izoduha kuroranirwa+, natwe abasavyi bayo, tugira duhaguruke, twubake; mugabo mwebwe nta muturi+ canke uburenganzira canke icibutso+ mufise i Yeruzalemu.”

3 Nuko Eliyashibu+ umuherezi mukuru na bene wabo, abaherezi, barahaguruka maze bubaka Irembo ry’Intama+. Bo ubwabo bararyeza+ hanyuma bashiraho imiryango yaryo; bararyeza gushika ku Munara wa Meya+, gushika ku Munara wa Hananeli+. 2 Abagabo b’i Yeriko+ bubaka iruhande yabo. Zakuri mwene Imuri na we yubaka iruhande ya bano.

3 Irembo ry’Amafi+ riba ari ryo bene Hasenaya bubaka; bo ubwabo barishirako ibiti+ maze bashiraho imiryango+ yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo+ vyaryo. 4 Hanyuma Meremoti+ mwene Uriya+, Uriya mwene Hakozi, akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; Meshulamu+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Meshezabeli akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; Zadoki mwene Bayana akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo. 5 Hanyuma Abanyatekowa+ bakora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; mugabo abakomakomeye+ babo ntibemera gukora igikorwa ca ba shebuja.

6 Irembo ry’Igisagara ca Kera+ riba ari ryo Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya basanasana; bo ubwabo barishirako ibiti maze bashiraho imiryango yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo+ vyaryo. 7 Hanyuma Melatiya Umunyagibeyoni+ na Yadoni Umunyameronoti+, abagabo b’i Gibeyoni+ n’i Mizipa+ begukira intebe y’ubwami ya buramatari+ wo hakurya ya rwa Ruzi+, bakora igikorwa co gusanasana iruhande yabo. 8 Uziyeli mwene Harihaya, wo mu bacuzi b’inzahabu+, akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo; hanyuma Hananiya wo mu bavanzi b’amavuta manovu+ akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe; nuko batangura gusasa i Yeruzalemu amabuye abase gushika ku Ruhome Rwagutse+. 9 Hanyuma Refaya mwene Huru, umuganwa w’igice c’intara ya Yeruzalemu, akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo. 10 Hanyuma Yedaya mwene Harumafu akora igikorwa co gusanasana iruhande yabo imbere y’inzu yiwe+; hanyuma Hatushi mwene Hashabuneya akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe.

11 Ikindi gice gipimwe kiba ari co Malikiya mwene Harimu+ na Hashubu mwene Pahati-mowabu+ basanasana, be n’Umunara w’Amafuru y’Ukwotsa+. 12 Hanyuma Shalumu mwene Haloheshi, umuganwa+ w’igice c’intara ya Yeruzalemu, akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe, we hamwe n’abakobwa biwe.

13 Irembo ryo ku Mubande+ riba ari ryo Hanuni n’ababa i Zanowa+ basanasana; bo ubwabo bararyubaka maze bashiraho imiryango+ yaryo n’ivyugazo+ vyaryo n’ibihindizo+ vyaryo, basanasana n’amatambwe* igihumbi mu ruhome gushika kw’Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota+. 14 Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota riba ari ryo Malikiya mwene Rekabu, umuganwa w’intara ya Beti-hakeremu+, asanasana; we ubwiwe araryubaka maze ashiraho imiryango yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo vyaryo.

15 Irembo ryo kw’Isôko+ riba ari ryo Shaluni mwene Kolihoze, umuganwa w’intara ya Mizipa+, asanasana; we ubwiwe araryubaka, arishirako igisenge yongera ashiraho imiryango+ yaryo n’ivyugazo vyaryo n’ibihindizo vyaryo; asanasana n’uruhome rw’Ikidengeri+ c’Umugende amaja ku Murima w’Umwami+ no gushika ku Nzira y’Ingazi+ imanuka ivuye mu Gisagara ca Dawidi+.

16 Mu nyuma ziwe Nehemiya mwene Azibuki, umuganwa w’igice c’intara ya Beti-zuri+, akora igikorwa co gusanasana gushika imbere y’Imva+ za Dawidi no gushika ku kidengeri+ cari carakozwe no gushika ku Nzu y’Abanyenkomezi+.

17 Mu nyuma ziwe Abalewi+ bakora igikorwa co gusanasana bahagarikiwe na Rehumu mwene Bani+; Hashabiya, umuganwa w’igice c’intara ya Keyila+, akora igikorwa co gusanasana iruhande yiwe ku bw’intara yiwe. 18 Mu nyuma ziwe bene wabo bakora igikorwa co gusanasana bahagarikiwe na Bavayi mwene Henadadi, umuganwa w’igice c’intara ya Keyila.

19 Hanyuma Ezeri mwene Yeshuwa+, umuganwa wa Mizipa+, atangura gusanasana ikindi gice gipimwe iruhande yiwe, imbere y’umudugo uja ku Bubiko bw’Ibirwanisho ku Rwego+.

20 Mu nyuma ziwe Baruki mwene Zabayi+ akorana ubwira+, asanasana ikindi gice gipimwe, kuva ku Rwego gushika ku bwinjiriro bw’inzu ya Eliyashibu+ umuherezi mukuru.

21 Mu nyuma ziwe Meremoti mwene Uriya+, Uriya mwene Hakozi, asanasana ikindi gice gipimwe, kuva ku bwinjiriro bw’inzu ya Eliyashibu gushika ku mpera yayo.

22 Mu nyuma ziwe abaherezi, abagabo bo mu Ntara ya Yorodani+, bakora igikorwa co gusanasana. 23 Mu nyuma zabo Benyamini na Hashubu bakora igikorwa co gusanasana imbere y’inzu yabo. Mu nyuma zabo Azariya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Ananiya, akora igikorwa co gusanasana iruhande y’inzu yiwe. 24 Mu nyuma ziwe Binuwi mwene Henadadi asanasana ikindi gice gipimwe, kuva ku nzu ya Azariya gushika ku Rwego+ no gushika ku mfuruka.

25 Mu nyuma ziwe Palali mwene Uzayi akora igikorwa co gusanasana imbere y’Urwego n’umunara wometse ku Nzu y’Umwami+, uwo haruguru wegukira Ikigo c’Abarinzi+. Mu nyuma ziwe hari Pedaya mwene Paroshi+.

26 Kandi Abanetinimu+ baba i Ofeli+; bakora igikorwa co gusanasana gushika imbere y’Irembo ry’Amazi+ mu buseruko be n’umunara wometseko.

27 Mu nyuma zabo Abanyatekowa+ basanasana ikindi gice gipimwe, kuva imbere y’umunara munini wometseko gushika ku ruhome rw’i Ofeli.

28 Abaherezi bakora igikorwa co gusanasana hejuru y’Irembo ry’Amafarasi+, umwe wese imbere y’inzu yiwe.

29 Mu nyuma zabo Zadoki+ mwene Imeri akora igikorwa co gusanasana imbere y’inzu yiwe.

Mu nyuma ziwe na ho Shemaya mwene Shekaniya, umurinzi w’Irembo ryo mu Buseruko+, akora igikorwa co gusanasana.

30 Mu nyuma ziwe Hananiya mwene Shelemiya na Hanuni umuhungu agira gatandatu wa Zalafu basanasana ikindi gice gipimwe.

Mu nyuma ziwe Meshulamu+ mwene Berekiya akora igikorwa co gusanasana imbere y’icumba ciwe+.

31 Mu nyuma ziwe Malikiya, uwo mw’ishirahamwe ry’abacuzi b’inzahabu+, akora igikorwa co gusanasana gushika ku nzu y’Abanetinimu+ n’abacuruza+, imbere y’Irembo ry’Igendura no gushika ku cumba co hejuru co ku mfuruka.

32 Nuko abacuzi b’inzahabu n’abacuruza bakora igikorwa co gusanasana hagati y’icumba co hejuru co ku mfuruka n’Irembo ry’Intama+.

4 Sanibalati+ akimara kwumva yuko twariko dusubira kwubaka uruhome, aca arashavura+ kandi arababara cane, aguma atwengera mw’ijigo+ Abayuda. 2 Maze atangura kuvugira imbere ya bene wabo+ n’inteko za gisirikare za Samariya, egome, atangura kuvuga ati: “Aba Bayuda ba goyigoyi bariko bakora iki? Mbega bazovyishoboza? Bazoshikana ibimazi+? Bazorangiza ku musi umwe? Bazonagura ayo mabuye bayakuye mu birundo vy’ibicafu vyuzuye umukungugu+ kandi yarahiye?”

3 Kandi Tobiya+ Umwamoni+ yari iruhande yiwe, maze atangura kuvuga ati: “Mbere ivyo bariko barubaka, hamwe imbwebwe+ yovyurirako, yoca isenyurira hasi uruhome rwabo rw’amabuye.”

4 Niwumve+, ewe Mana yacu, kuko twabaye agakengerwe+; nusubize iceyi+ cabo ku mutwe wabo, kandi utume basahurwa bajanwe mu gihugu c’ubunyagano. 5 Ntupfuke ikosa+ ryabo n’igicumuro cabo ngo bive imbere yawe. Ntibihanagurwe, kuko bababaje abubatsi.

6 Nuko tuguma twubaka urwo ruhome, maze uruhome rwose rurafatanywa gushika ku ca kabiri c’amahagarara yarwo, kandi abantu babandanya kugira umutima wo gukora+.

7 Sanibalati+ na Tobiya+ n’Abarabu+ n’Abamoni+ n’Abashidodi+ bakimara kwumva yuko ivy’ugusanasana impome za Yeruzalemu vyari vyateye imbere, kuko ibihengeri vyari vyatanguye kuzibirwa, baca barashavura cane. 8 Maze bose batangura kuja umugambi mubi+ wo kuza gutera Yeruzalemu no kuntera uruhagarara. 9 Mugabo dusenga+ Imana yacu hanyuma kubera abo bansi, dushiraho abarinzi bo kubarwanya ku murango no mw’ijoro.

10 Yuda itangura kuvuga iti: “Inkomezi z’uwutwara imizigo+ zatsitaye, kandi hariho ibicafu vyinshi+; natwe ubwacu ntidushoboye kwubaka uruhome.”

11 Vyongeye, abarwanizi bacu baguma bavuga bati: “Ntibazogira ico bamenya+ kandi ntibazogira ico babona gushika tubashitsemwo; tuzobica ata kabuza maze duhagarike ico gikorwa.”

12 Nuko igihe cose Abayuda baba hafi yabo baje, baca batubwira incuro cumi bati: “Bazoduga bavuye ahantu hose muzozanana muje kuri twebwe.”

13 Nshira rero abagabo mu bice vyo hasi cane vy’aho hantu inyuma y’uruhome, mu bibanza vyo hanze, kandi nshiraho abantu nkurikije imiryango yabo, bafise inkota+ zabo n’amacumu+ yabo n’imiheto yabo. 14 Mbonye ubwoba bwabo, nca ndahaguruka, mbwira abanyacubahiro+ n’ivyegera vy’abatware+ n’abantu basigaye nti: “Ntimutinye+ kubera bo. Mwibuke Yehova Umwe ahambaye+ kandi ateye ubwoba+; murwanire bene wanyu+, abahungu banyu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’imihana yanyu.”

15 Abansi bacu bakimara kwumva yuko twari twabimenye, ku buryo Imana y’ukuri yari yishe inama+ yabo kandi twese tukaba twari twasubiye ku ruhome, umwe wese ku gikorwa ciwe, 16 egome, kuva uwo musi haba ibi: ica kabiri c’imisore+ yanje caba kiri ku gikorwa, ica kabiri cayo na co kikaba gifashe amacumu n’inkinzo n’imiheto n’amakoti y’ivyuma+; abaganwa+ na bo baba bari inyuma y’inzu yose ya Yuda. 17 Nayo abubatsi bari ku ruhome n’abatwara imizigo iremereye, umwe wese yaba ari ku gikorwa, agakoresha ukuboko kumwe ukundi+ na kwo gufashe ikirwanisho batera+. 18 Kandi abubatsi baba bakenyeye umwe wese inkota yiwe mu mafyinga+, mu gihe baba bariko barubaka+; uwo kuvuza inzamba+ yaba ari iruhande yanje.

19 Nuko mbwira abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware+ n’abantu basigaye nti: “Igikorwa ni kinini kandi kigera kure, natwe turasabagiye ku ruhome, turi kure na kure. 20 Aho muzokwumva ijwi ry’inzamba, hazobe ari ho mukoranira, aho turi. Imana yacu ubwayo izoturwanira+.”

21 Mu gihe twaba turi ku gikorwa, ikindi ca kabiri cabo na co caba gifashe amacumu, kuva umutwenzi utambitse gushika inyenyeri ziserutse. 22 Vyongeye, ico gihe mbwira abantu nti: “Umwe wese mu bagabo arare hagati muri Yeruzalemu+ ari kumwe n’umusuku wiwe; bazotubera abarinzi mw’ijoro, batubere abakozi ku murango.” 23 Nayo jewe+ na bene wacu+ n’abasuku banje+ n’abagabo b’abarinzi+ bari inyuma yanje, ntitwambura impuzu zacu; umwe wese yaba afise mu kuboko kwiwe kw’ukuryo ikirwanisho ciwe batera+.

5 Ariko haba amaborogo+ akomeye y’abantu n’abagore babo, bidogera bene wabo b’Abayuda+. 2 Hari abavuga ngo: “Abahungu bacu n’abakobwa bacu tubatangako ingwati kugira turonke intete, turye maze tubandanye kubaho+.” 3 Hakaba n’abavuga ngo: “Amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu n’amazu yacu tubitangako ingwati+ kugira ngo turonke intete mu gihe c’amapfa.” 4 Hari n’abavuga ngo: “Twaraguranye amahera y’ikibuguro+ c’umwami ku matongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu+. 5 Yamara umubiri wacu ni cokimwe n’umubiri wa bene wacu+; abahungu bacu ni cokimwe n’abahungu babo, mugabo ehe abahungu bacu n’abakobwa bacu turiko tubagira abashumba+, kandi hari bamwe mu bakobwa bacu bamaze kugirwa abashumbakazi; nta co dushoboye gukora kuko amatongo yacu n’imirima yacu y’imizabibu vyegukira abandi.”

6 Nkimara kwumva amaborogo yabo n’ayo majambo, nca ndashavura cane. 7 Nuko ndabirimbura mu mutima wanje, maze ntangura gutatira+ abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware, ndababwira nti: “Muriko mwaka inyungu y’umurengera+ ku ngurane, umwe wese akayaka mwene wabo.”

Vyongeye, ntunganya ikoraniro rinini kubera bo+. 8 Maze ndababwira nti: “Twebwe ubwacu twaragize uko dushoboye tugaruza+ bene wacu b’Abayuda bari baragurishijwe ku mahanga; none namwe muce mugurisha bene wanyu+, kandi bagurishwe kuri twebwe?” Baca bacika nk’ibiragi, ntibaronka ico bavuga+. 9 Nongera mvuga nti: “Ico kintu muriko murakora si ciza+. Mbega ntimukwiye kugendera mu gutinya+ Imana yacu+ kubera iceyi+ c’amahanga, ari bo bansi bacu+? 10 Na jewe nyene na bene wacu n’abasuku banje turatanga ku ngurane amahera n’intete muri bo. Ndabinginze tureke ukwo kuguranira inyungu+. 11 Ndabinginze uno musi mubasubize amatongo yabo+, imirima yabo y’imizabibu, imirima yabo y’imyelayo n’amazu yabo, n’ic’ijana c’amahera n’ic’intete, n’ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta mubaka bwa nyungu.”

12 Nuko bavuga bati: “Turabisubiza+, kandi nta co tubarihisha+. Turagira nk’uko nyene uvuze+.” Mpamagara rero abaherezi maze ndabarahiza yuko bokora bisunze iryo jambo+. 13 Vyongeye, nkunkumura igice c’impuzu yanje co ku gikiriza maze mvuga nti: “Umuntu wese atazoshitsa iri jambo, uku azobe ari ko Imana y’ukuri imukunkumura ave mu nzu yiwe no mu bintu vyiwe yaronse; kandi uku azobe ari ko akunkumurwa, asigare agaragara.” Ishengero ryose rica rivuga riti: “Amen+!” Maze batangura gushemeza Yehova+. Nuko abantu bakora bisunze iryo jambo+.

14 Ikindi kandi: Kuva umusi yanshinga kuba buramatari+ wabo mu gihugu ca Yuda, kuva ku mwaka ugira mirongo ibiri+ gushika ku mwaka ugira mirongo itatu na kabiri+ wa Aritazeruzi+ umwami, uko ari imyaka cumi n’ibiri, jewe na bene wacu ntitwariye umukate ugenewe buramatari+. 15 Ariko ba buramatari ba kera banyitangiye imbere bari bararemereje abantu, bakaguma babaka shekeli mirongo ine z’ifeza ku musi ku musi zigenewe umukate n’umuvinyu. Vyongeye, abasuku babo bariganza ku bantu+. Mugabo jewe sinagize gutyo+ kubera ugutinya Imana+.

16 Bisubiye, narafashije mu gikorwa c’uru ruhome+, kandi nta tongo twironkeje+; abasuku banje bose bama bakoranirizwa ng’aho ku bw’igikorwa. 17 Abayuda n’ivyegera vy’abatware, abagabo ijana na mirongo itanu, be n’abaza kuri twebwe bavuye mu mahanga yari irya n’ino yacu barya ku meza yanje+. 18 Ku bijanye n’ivyategurwa ku musi ku musi, nategurirwa ishūri imwe n’intama zitandatu z’indobanurwa, n’inyoni, rimwe mu misi cumi na ho ngategurirwa ubwoko bwose bw’umuvinyu+, nkawutegurirwa ari mwinshi. Naho vyari ukwo, sinasavye umukate ugenewe buramatari, kuko igikorwa cari kuri aba bantu cari kiremereye. 19 Ewe Mana yanje, uze unyibuke+ ku bw’ivyo nagiriye aba bantu vyose+, ungirire iciza+.

6 Nuko Sanibalati+ na Tobiya+ na Geshemu+ Umwarabu+ n’abansi bacu basigaye bakimara kumenyeshwa yuko nari nasubiye kwubaka uruhome+ be n’uko ata gihengeri cari gisigaye muri rwo (naho gushika ico gihe ntari bwashire imiryango+ mu marembo+), 2 Sanibalati na Geshemu baca bantumako bati: “Nuze, duhure+ kw’isango mu bigwati vyo mu kiyaya c’umubande ca Ono+.” Mugabo bariko bategura umugambi wo kungirira nabi+. 3 Nuko ndabatumako intumwa+ nti: “Ndiko nkora igikorwa gihambaye+, sinshobora kumanuka. None igikorwa gihagarare bitumwe n’uko ndakivuyeko nkamanuka aho muri+?” 4 Ariko bantumako iryo jambo nyene incuro zine, nanje nguma ndabishura kwa kundi.

5 Amaherezo Sanibalati+ antumako umusuku wiwe rya jambo nyene ubugira gatanu, afise mu kuboko ikete ryuguruye. 6 Ryari ryanditswemwo ngo: “Vyarumviswe mu mahanga, kandi na Geshemu+ arabivuga, yuko wewe n’Abayuda muriko mutegura umugambi wo kugarariza+. Ni co gituma uriko wubaka uruhome; kandi ugomba kubabera umwami+, nk’uko ayo majambo ari. 7 Mbere hari abahanuzi washizeho ngo basemerere i Yeruzalemu hose ku bikwerekeye, ngo: ‘Hariho umwami muri Yuda!’ Ibintu nk’ivyo rero bizomenyeshwa umwami. None rero nuze tuje inama+.”

8 Ariko ndamutumako nti: “Ibintu nk’ivyo uvuga ntivyabayeho+, ahubwo uriko uvyigenera mu mutima wawe+.” 9 Kuko bose bariko barondera kudutera ubwoba, mu kuvuga ngo: “Amaboko+ yabo azoregera* areke igikorwa, ku buryo kitazokorwa.” Mugabo ubu nukomeze amaboko yanje+.

10 Nuko jewe ubwanje ninjira mu nzu ya Shemaya mwene Delaya, Delaya mwene Mehetabeli, mu gihe yari yiyugaranye+. Maze avuga ati: “Duhure kw’isango+ ku nzu y’Imana y’ukuri, mu rusengero+, duheze twugare imiryango y’urusengero; kuko bahava baza kukwica, egome, bahava baza kukwica mw’ijoro+.” 11 Mugabo mvuga nti: “Mbega umuntu nkanje yohunga+? Ni nde muntu nkanje yokwinjira mu rusengero akabaho+? Eka sininjira!” 12 Nuko ngira itohoza, nsanga Imana+ atari yo yari yamutumye, mugabo ubwo buhanuzi yari yabumvuzeko+ kubera Tobiya+ na Sanibalati bari bamuhêreye+. 13 Iki ni co cari catumye ahêrwa+: kugira ngo ngire ubwoba+, nkore gutyo, ncumure+ koko maze baronke akaryo ko gutuma ngira izina ribi+, kugira ngo bansige iceyi+.

14 Ewe Mana yanje, wibuke+ Tobiya+ na Sanibalati, nk’uko ibi bikorwa vy’umwumwe wese biri, na Nowadiya umuhanuzikazi+ be n’abandi bahanuzi baguma barondera kuntera ubwoba.

15 Amaherezo uruhome+ rurangira ku musi ugira mirongo ibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli, mu misi mirongo itanu n’ibiri.

16 Abansi bacu+ bose bakimara kuvyumva n’amahanga yose yari irya n’ino yacu akabibona, baca barajonjogora mu maso yabo, maze bamenya ko ico gikorwa cari cakozwe bivuye ku Mana yacu+. 17 Muri iyo misi kandi, abanyacubahiro+ ba Yuda bǎrarungikira amakete menshi Tobiya+, na bo bakaronka aya Tobiya. 18 Kuko benshi muri Yuda bari bacuditse na we biciye ku ndahiro, kubera ko yari umukwe wa Shekaniya mwene Ara+; kandi Yehohanani umuhungu wiwe yari yarabiriye umukobwa wa Meshulamu+ mwene Berekiya. 19 Vyongeye, bǎguma bamuvugako ibintu vyiza imbere yanje+. Kandi amajambo yanje baguma bayamushira. Hari n’amakete Tobiya yarungika kugira antere ubwoba+.

7 Uruhome rukimara gusubira kwubakwa+, nca nshiraho imiryango+. Maze hashirwaho abarinzi b’amarembo+ n’abaririmvyi+ n’Abalewi+. 2 Nuko nzeza Yeruzalemu Hanani+ mwene wacu na Hananiya umuganwa w’Ikirimba+, kuko yari umugabo w’umwizigirwa+ kandi akaba yaratinya+ Imana y’ukuri kurusha abandi benshi. 3 Hanyuma ndababwira nti: “Amarembo+ ya Yeruzalemu ntaze yugururwe izuba ritaraka cane; kandi mu gihe bazoba bahagaze ng’aho, baze bugare imiryango bayishireko ivyugazo+. Kandi mushireho abarinzi bo mu baba i Yeruzalemu, umwe wese ku kirindiro ciwe, umwe wese imbere y’inzu yiwe+.” 4 Ico gihe igisagara cari cagutse kandi kikaba kinini, mugabo muri co hari abantu bakeyi+, kandi nta mazu yubakwa.

5 Mugabo Imana yanje ishira mu mutima+ wanje ivyo gukoraniriza hamwe abanyacubahiro n’ivyegera vy’abatware n’abantu, kugira biyandikishe hakurikijwe amamuko+. Maze nubura igitabu c’iyandikwa rifatiye ku mamuko+ ry’abaduze ubwa mbere, nsanga canditswemwo ngo:

6 Aba ni bo bana b’intara y’ubutware+ baduze bavuye iyo abajanywe ari inyagano+ bari baragiriwe imbohe, abo Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano+ maze mu nyuma bagasubira i Yeruzalemu no muri Yuda, umwe wese mu gisagara ciwe+, 7 abashitse bari kumwe na Zerubabeli+ na Yeshuwa+ na Nehemiya na Azariya na Rayamiya na Nahamani na Morudekayi+ na Bilishani na Misipereti na Bigivayi na Nehumu na Bayana.

Igitigiri c’abagabo bo mu gisata ca Isirayeli cari iki: 8 Bene Paroshi+ bari ibihumbi bibiri n’ijana na mirongo irindwi na babiri; 9 bene Shefatiya+ bari amajana atatu na mirongo irindwi na babiri; 10 bene Ara+ bari amajana atandatu na mirongo itanu na babiri; 11 bene Pahati-mowabu+, bo kuri bene Yeshuwa na Yowabu+, bari ibihumbi bibiri n’amajana umunani na cumi n’umunani; 12 bene Elamu+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane; 13 bene Zatu+ bari amajana umunani na mirongo ine na batanu; 14 bene Zakayi+ bari amajana indwi na mirongo itandatu; 15 bene Binuwi+ bari amajana atandatu na mirongo ine n’umunani; 16 bene Bebayi+ bari amajana atandatu na mirongo ibiri n’umunani; 17 bene Azigadi+ bari ibihumbi bibiri n’amajana atatu na mirongo ibiri na babiri; 18 bene Adonikamu+ bari amajana atandatu na mirongo itandatu n’indwi; 19 bene Bigivayi+ bari ibihumbi bibiri na mirongo itandatu n’indwi; 20 bene Adini+ bari amajana atandatu na mirongo itanu na batanu; 21 bene Ateri+, bo kuri Hezekiya, bari mirongo icenda n’umunani; 22 bene Hashumu+ bari amajana atatu na mirongo ibiri n’umunani; 23 bene Bezayi+ bari amajana atatu na mirongo ibiri na bane; 24 bene Harifu+ bari ijana na cumi na babiri; 25 bene Gibeyoni+ bari mirongo icenda na batanu; 26 abagabo b’i Betelehemu+ n’i Netofa+ bari ijana na mirongo umunani n’umunani; 27 abagabo b’i Anatoti+ bari ijana na mirongo ibiri n’umunani; 28 abagabo b’i Beti-azimaveti+ bari mirongo ine na babiri; 29 abagabo b’i Kiriyati-yeyarimu+ n’i Kefira+ n’i Beyeroti+ bari amajana indwi na mirongo ine na batatu; 30 abagabo b’i Rama+ n’i Geba+ bari amajana atandatu na mirongo ibiri n’umwe; 31 abagabo b’i Mikimasi+ bari ijana na mirongo ibiri na babiri; 32 abagabo b’i Beteli+ n’i Ayi+ bari ijana na mirongo ibiri na batatu; 33 abagabo b’i Nebo+ handi bari mirongo itanu na babiri; 34 bene Elamu+ wundi bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo itanu na bane; 35 bene Harimu+ bari amajana atatu na mirongo ibiri; 36 ab’i Yeriko+ bari amajana atatu na mirongo ine na batanu; 37 ab’i Lodi+ n’i Hadidi+ n’i Ono+ bari amajana indwi na mirongo ibiri n’umwe; 38 ab’i Senaya+ bari ibihumbi bitatu n’amajana icenda na mirongo itatu.

39 Abaherezi bari aba: Bene Yedaya+ bo mu nzu ya Yeshuwa bari amajana icenda na mirongo irindwi na batatu; 40 bene Imeri+ bari igihumbi na mirongo itanu na babiri; 41 bene Pashuri+ bari igihumbi n’amajana abiri na mirongo ine n’indwi; 42 bene Harimu+ bari igihumbi na cumi n’indwi.

43 Abalewi bari aba: Abahungu ba Yeshuwa, ba Kadumiyeli+, bo kuri bene Hodeva+, bari mirongo irindwi na bane. 44 Abaririmvyi+, bene Asafu+, bari ijana na mirongo ine n’umunani. 45 Abarinzi+ b’amarembo bari aba: bene Shalumu+, bene Ateri, bene Talimoni+, bene Akubu+, bene Hatita, bene Shobayi+: bari ijana na mirongo itatu n’umunani.

46 Abanetinimu*+ bari aba: Bene Ziha, bene Hasufa, bene Tabayoti+, 47 bene Kerosi, bene Siya, bene Padoni+, 48 bene Lebana, bene Hagaba+, bene Salumayi, 49 bene Hanane+, bene Gideli, bene Gahari, 50 bene Reyaya+, bene Rezini+, bene Nekoda, 51 bene Gazamu, bene Uza, bene Paseya, 52 bene Besayi+, abahungu b’Abamewunimu, abahungu b’Abanefushesimu+, 53 bene Bakibuki, bene Hakufa, bene Harihuri+, 54 bene  Baziliti, bene Mehida, bene Harisha+, 55 bene Barikosi, bene Sisera, bene Tema+, 56 bene Neziya, bene Hatifa+.

57 Abahungu b’abasuku ba Salomo+ bari aba: Bene Sotayi, bene Sofereti, bene Perida+, 58 bene Yayala, bene Darikoni, bene Gideli+, 59 bene Shefatiya, bene Hatili, bene Pokereti-hazebayimu, bene Amoni+. 60 Abanetinimu+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo bose bari amajana atatu na mirongo icenda na babiri.

61 Aba ni bo baduze bavuye i Teli-mela n’i Teli-harisha n’i Kerubi n’i Adoni n’i Imeri+, mugabo ntibashobora kwerekana inzu ya ba se n’amamuko yabo, kugira bimenyekane ko bakomoka kuri Isirayeli: 62 bene Delaya na bene Tobiya na bene Nekoda+ bari amajana atandatu na mirongo ine na babiri. 63 Abo mu baherezi+ bari aba: bene Habaya, bene Hakozi+, bene Baruzilayi+, uwabiriye umugore mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umugileyadi maze akitirirwa izina ryabo. 64 Abo ni bo barondeye igitabu banditswemwo kugira ngo bemeze icese amamuko yabo, mugabo nticaboneka+, bituma bakurwa mu buherezi kuko bafashwe ko banduye+. 65 Nuko Buramatari*+ ababwira ko batoriye+ ku bintu vyeranda rwose gushika umuherezi afise Urimu+ na Tumimu*+ abonetse.

66 Ishengero ryose uko ari umugwi ryari rigizwe n’abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu+, 67 hatarimwo abashumba+ babo n’abashumbakazi babo, bano bakaba bari ibihumbi indwi n’amajana atatu na mirongo itatu n’indwi+; kandi bari bafise abaririmvyi+ n’abaririmvyikazi+ amajana abiri na mirongo ine na batanu. 68 Amafarasi yabo yari amajana indwi na mirongo itatu n’atandatu, inyumpu zabo zikaba amajana abiri na mirongo ine na zitanu+. 69 Ingamiya zari amajana ane na mirongo itatu na zitanu. Indogobwa+ zari ibihumbi bitandatu n’amajana indwi na mirongo ibiri+.

70 Nuko igice c’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru+ gitanga intererano igenewe igikorwa+. Buramatari+ ubwiwe atanga amadarakima* igihumbi y’inzahabu, amabakure mirongo itanu, amakanzu amajana atanu na mirongo itatu y’abaherezi+, ngo bishirwe mu kigega. 71 Kandi bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuru batanga amadarakima ibihumbi mirongo ibiri y’inzahabu n’imina*+ ibihumbi bibiri n’amajana abiri z’ifeza ngo bishirwe mu kigega kigenewe igikorwa. 72 Abantu basigaye na bo batanga amadarakima ibihumbi mirongo ibiri y’inzahabu n’imina ibihumbi bibiri z’ifeza be n’amakanzu mirongo itandatu n’indwi y’abaherezi.

73 Nuko abaherezi+ n’Abalewi n’abarinzi b’amarembo n’abaririmvyi+ na bamwe mu bantu n’Abanetinimu+ na Isirayeli yose batangura kuba mu bisagara vyabo+. Ukwezi kugira indwi gushika+ bene Isirayeli bari mu bisagara vyabo+.

8 Nuko abantu bose bakoranira nk’umuntu umwe+ mu kibanza ca bose+ cari imbere y’Irembo ry’Amazi+. Maze babwira Ezira+ umwimuzi ngo azane igitabu+ c’itegeko rya Musa+, iryo Yehova yari yarategetse Isirayeli+. 2 Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi+, Ezira+ umuherezi azana rero iryo tegeko imbere y’ishengero+ ry’abagabo n’abagore n’abaciye ubwenge bihagije bose ku buryo bashobora kwumviriza+. 3 Abandanya gusoma+ muri ico gitabu n’ijwi ryumvikana imbere ya nya kibanza ca bose kiri imbere y’Irembo ry’Amazi, kuva mu mutwenzi+ gushika ku mutaga, imbere y’abagabo n’abagore n’abandi baciye ubwenge; kandi amatwi+ y’abantu bose yariko yumviriza+ nya gitabu c’itegeko. 4 Ezira umwimuzi aguma ahagaze ku mutaramuko+ w’ibiti bari bakoreye urwo rubanza; kandi iruhande yiwe hari hahagaze Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilikiya na Mayaseya, bakaba bari iburyo bwiwe; ibubamfu bwiwe na ho hari Pedaya na Mishaheli na Malikiya+ na Hashumu+ na Hashi-badana na Zekariya na Meshulamu.

5 Nuko Ezira azingurura+ ico gitabu mu maso y’abantu bose, kuko yari hejuru y’abantu bose; akizinguruye abantu bose barahaguruka+. 6 Maze Ezira ahezagira Yehova+ Imana y’ukuri, Umwe ahambaye, abantu bose baca bishura bati: “Amen! Amen+!” badugije amaboko+. Nuko barunama+ bakubita inkoro hasi imbere ya Yehova, mu maso habo hakora hasi+. 7 Yeshuwa na Bani na Sherebiya+ na Yamini na Akubu na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya na Kelita na Azariya na Yozabadi+ na Hanane na Pelaya+, egome, Abalewi, bariko basigurira abantu nya tegeko+, mu gihe abantu bari bahagaze+. 8 Babandanya gusoma+ n’ijwi ryumvikana muri nya gitabu, mw’itegeko ry’Imana y’ukuri, rikaza rirasigurwa ryongera ritangirwa insobanuro; babandanya gutuma ukwo gusoma gutegereka+.

9 Nuko Nehemiya+, ari we Buramatari*+, na Ezira+ umuherezi, umwimuzi, n’Abalewi bariko bigisha abantu, babwira abantu bose bati: “Uwu musi ni mweranda kuri Yehova Imana yanyu+. Ntimugandare canke ngo murire+.” Kuko abantu bose bariko barira igihe bariko bumva amajambo ya nya tegeko+. 10 Abandanya kubabwira ati: “Gende murye ibintu binuze, munywe n’ibintu bisosa, kandi murungikire imigabane+ umuntu ata co yateguriwe; kuko uwu musi ari mweranda ku Mukama wacu; ntimubabare, kuko akanyamuneza ka Yehova ari igihome gikomeye canyu.” 11 Abalewi bariko bategeka abantu bose kunuma, bati: “Nimuhore! kuko uwu musi ari mweranda; ntimubabare.” 12 Nuko abantu bose baja kurya no kunywa no kurungikira abandi ibifungurwa+ no kunezerwa rwose+, kuko bari bategereye amajambo bari bamenyeshejwe+.

13 Ku musi ugira kabiri, abakuru ba ba se b’abantu bose, abaherezi be n’Abalewi, bakoranira kuri Ezira umwimuzi, kugira batahure bimwe vyimbitse amajambo y’itegeko+. 14 Maze basanga mw’itegeko handitswe ko Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa+ yuko bene Isirayeli bakwiye kuba mu nsago+ mu gihe c’umusi mukuru mu kwezi kugira indwi+, 15 be n’uko bakwiye gutangaza+ no gutera akamo mu bisagara vyabo vyose n’i Yeruzalemu+ hose bati: “Sohoke muje mu karere k’imisozi+, muzane amababi y’imyelayo+ n’amababi y’ibiti vy’amavuta n’amababi y’ibiti vy’imihadasi n’amababi y’ibigazi n’amababi y’ibiti bisagaraye kugira mukore insago, nk’uko vyanditswe.”

16 Nuko abantu barasohoka, barabizana, baraheza biyubakira insago, umwe wese ku gisenge+ ciwe no mu bigo vyabo no mu bigo+ vy’inzu y’Imana y’ukuri no mu kibanza ca bose+ co kw’Irembo ry’Amazi+ no mu kibanza ca bose co kw’Irembo rya Efurayimu+. 17 Gutyo ishengero ryose ry’abari baragarutse bavuye mu bunyagano, bubaka insago maze baba muri zo; kuko bene Isirayeli batari barakoze gutyo kuva mu misi ya Yosuwa mwene Nuni+ gushika uwo musi, ku buryo haba umunezero mwinshi cane+. 18 Basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’itegeko ry’Imana y’ukuri ku musi ku musi+, kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa nyuma; bamara imisi indwi bahimbaza umusi mukuru, ku musi ugira umunani na ho haba ikoraniro ry’agakūra, nk’uko ingingo yashinzwe yabivuga+.

9 Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwo kwezi+, bene Isirayeli bakoranira hamwe bisonzesheje+ kandi bambaye amagunira*+, bishizeko n’ivu+. 2 Nuko uruvyaro rwa Isirayeli rwitandukanya+ n’abanyamahanga+ bose, rurahaguruka maze rwatura+ ibicumuro vyarwo+ n’amakosa ya ba se+. 3 Hanyuma bahagarara mu kibanza cabo+, bamara ica kane c’umusi basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’itegeko+ rya Yehova Imana yabo+; bamara n’ica kane c’umusi batura ivyaha+ vyabo bongera bunamira Yehova Imana yabo+.

4 Nuko Yeshuwa na Bani na Kadumiyeli na Shebaniya na Buni na Sherebiya+ na Bani na Kenani bahagarara ku mukiruruko+ w’Abalewi, maze basemerera n’ijwi rirenga+ babwira Yehova Imana yabo. 5 Hanyuma Abalewi Yeshuwa na Kadumiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya bavuga bati: “Haguruke muhezagire+ Yehova Imana yanyu kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+. Nibahezagire izina ryawe rininahaye+, irishizwe hejuru y’umuhezagiro wose n’ishemezo ryose.

6 “Ni wewe Yehova wenyene+; ni wewe wakoze amajuru+, egome, ijuru ry’amajuru, n’ingabo zayo zose+, isi+ n’ibiri kuri yo vyose+, ibiyaga+ n’ibiri muri vyo vyose+; vyose ubizigamira ubuzima; kandi ingabo+ zo mu majuru zirakwunamira. 7 Uri Yehova Imana y’ukuri yatoye Aburamu+ ikamukura i Uri h’Abakaludaya+ maze izina ryiwe ikarigira Aburahamu+. 8 Wasanze umutima wiwe ari uwizigirwa imbere yawe+; nuko ugirana isezerano+ na we ryo kumuha igihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abayebusi n’Abagirugashi, ryo kugiha uruvyaro rwiwe+; kandi warashikije amajambo yawe, kuko ugororotse+.

9 “Warabonye+ rero amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura+. 10 Maze utanga ibimenyetso n’ibitangaro kuri Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe+, kuko wari uzi ko bitaye imbere mu kubarwanya+; maze wihesha izina+ nk’uko biri uyu musi. 11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+. 12 Ku murango wabayoboje inkingi y’igicu+, mw’ijoro na ho ubayoboza inkingi y’umuriro+, kugira ngo ubaboneshereze+ inzira bakwiye kujana. 13 Wamanutse ku musozi Sinayi+, uvugana na bo uri mw’ijuru+, uraheza ubaha ingingo z’ubutungane zigororotse+ n’amategeko y’ukuri+, ingingo nyobozi nziza+ n’amabwirizwa meza+. 14 Wabamenyesheje isabato+ yawe nyeranda wongera ubategeka amabwirizwa n’ingingo nyobozi n’itegeko biciye kuri Musa umusavyi wawe+. 15 Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru wo kubamara inzara+, ubakurira n’amazi mu rutare yo kubamara inyota+; hanyuma ubabwira kwinjira+ bakigarurira igihugu wari waradugije ukuboko ukarahira yuko uzokibaha+.

16 “Ariko bo, egome, ba sogokuruza bacu, baritaye imbere+ maze bakomantaza izosi+, ntibumviriza amabwirizwa yawe. 17 Maze banka kwumviriza+, ntibibuka+ ibikorwa vy’agatangaza vyawe wabakoreye, mugabo bakomantaza izosi+, bashiraho umukuru+ kugira basubire mu bushumba bwabo mu Misiri. Mugabo wewe uri Imana ikunda kubabarira+, y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+, iteba gushavura+ kandi igwije+ ubuntu bwuzuye urukundo, ntiwabahevye+. 18 Egome, igihe bihingurira igishushanyo c’inyana mu cuma gishongeshejwe+ maze bagatangura kuvuga bati: ‘Iyi ni yo Mana yawe yakuduganye igukuye mu Misiri+,’ bakabandanya gukora ibikorwa bikomeye vy’akagaye, 19 wewe, mu mbabazi zawe nyinshi, ntiwabahebeye+ mu gahinga. Ya nkingi y’igicu ntiyavuye hejuru yabo ku murango kugira ngo ibayobore mu nzira+, canke ya nkingi y’umuriro mw’ijoro kugira ngo ibaboneshereze inzira bakwiye kujana+. 20 Waratanze impwemu+ yawe nziza kugira ngo ubagire abigengesera; ntiwimye manu* yawe akanwa kabo+, kandi wabahaye amazi yo kubamara inyota+. 21 Wamaze imyaka mirongo ine+ ubaronsa ibifungurwa mu gahinga. Nta co babuze+. Impuzu zabo ntizashize+, kandi ibirenge vyabo ntivyavyimvye+.

22 “Wabahaye ubwami+ n’ibisata vy’abantu, ubigabanganya igipande ku kindi+; ku buryo bigarurira igihugu ca Sihoni+, egome, igihugu c’umwami wa Heshiboni+, n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani+. 23 Abana babo wabagwije nk’inyenyeri zo mu majuru+. Maze ubazana mu gihugu+ wari warasezeraniye ba sekuruza babo+ yuko bocinjiyemwo kugira bacigarurire. 24 Abahungu babo+ barinjiye rero bigarurira ico gihugu+, maze utangura kumara igabo+ imbere yabo ababa muri ico gihugu, Abanyakanani+, no kubatanga mu kuboko kwabo, egome, abami babo+ n’ibisata vy’abantu vy’ico gihugu+, kugira ngo babagire uko bagomba+. 25 Barigaruriye rero ibisagara vyabo bikingijwe ibihome+ n’ubutaka bunuze+ bongera bigarurira amazu yuzuye ibintu vyizavyiza vyose+, amatangi yimbwe+, imirima y’imizabibu+ n’imirima y’imyelayo n’ibiti bitanga ibifungurwa, ku bwinshi, maze bararya, barahaga+, baradoha+, baranezerwa rwose mu kumera neza kwawe+.

26 “Ariko baragambaraye+, barakugarariza+, baguma bashiburira itegeko ryawe inyuma yabo+, kandi bica abahanuzi bawe+ bashinze intahe babagiriza kugira babagarukane kuri wewe+; babandanya gukora ibikorwa vy’akagaye gakomeye+. 27 Ivyo vyatumye ubatanga mu kuboko kw’abarwanizi babo+, na bo baguma babateza amarushwa+; mugabo mu gihe baba bari mu marushwa barakuririra+, nawe ukumva uri mu majuru+; maze nk’uko imbabazi+ zawe nyinshi ziri warabaha abo kubakiza+, na bo bakabakiza bakabakura mu kuboko kw’abarwanizi babo+.

28 “Mugabo bakimara kuronka akaruhuko, baca bongera gukora ibibi imbere yawe+, nawe ukabatanga mu kuboko kw’abansi babo, bakabahonyangira hasi+. Baragaruka rero bakagutabaza+, nawe ukumva uri mu majuru+ maze ukabarokora nk’uko imbabazi zawe nyinshi ziri, incuro n’izindi+. 29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+. 30 Mugabo warabihanganiye imyaka myinshi+, uguma ushinga intahe+ ubagiriza ukoresheje impwemu yawe, biciye ku bahanuzi bawe, mugabo ntibateze ugutwi+. Amaherezo warabatanze mu kuboko kw’ibisata vy’abantu vy’ibihugu+. 31 Mu mbabazi zawe nyinshi ntiwabatikije+ canke ngo ubahebe+; kuko uri Imana y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+.

32 “None rero, ewe Mana yacu, Mana ihambaye+, y’inyabushobozi+ kandi iteye ubwoba+, igumya isezerano+ n’ubuntu bwuzuye urukundo+, amagume yose yadushikiye+ twe n’abami bacu+ n’abaganwa bacu+ n’abaherezi bacu+ n’abahanuzi bacu+ na ba sogokuruza bacu+ n’abantu bawe bose kuva mu misi y’abami ba Ashuri gushika n’uyu musi+, ntaboneke nk’akantu gatoyi imbere yawe+. 33 Wewe uragororotse+ mu vyadushikiye vyose, kuko wakoranye ubwizigirwa+, mugabo twebwe ni twe twakoze ivy’ububisha+. 34 Nayo abami bacu, abaganwa bacu, abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu+, ntibashikije itegeko+ canke ngo bumvirize amabwirizwa yawe+ kibure ibishingantahe vyawe wakoresheje mu gushinga intahe+ ubagiriza. 35 Na bo, mu gihe c’ubwami bwabo+ no mu bintu vyiza vyawe vyinshi+ wabahaye no mu gihugu cagutse kandi kinuze+ wabaronkeje, ntibagukoreye+ kandi ntibahindukiye ngo bave mu ngeso zabo mbi+. 36 Ehe! Uwu musi turi abashumba+; nayo igihugu wahaye ba sogokuruza bacu ngo barye umwimbu waco n’ibintu vyiza vyaco, ehe turi abashumba kuri co+, 37 umwimbu waco na wo ukaba uriko ugwira+ ku bw’abami+ washize kuri twebwe kubera ibicumuro vyacu+; bariko baganza imibiri yacu n’ibitungwa vyacu uko bagomba, kandi turi mu marushwa akomeye+.

38 “Kubera ivyo vyose rero, dusezeranye isezerano ntabanduka+, irishizwe mu nyandiko kandi rikemezwa n’ikidodo+ c’abaganwa bacu, Abalewi bacu n’abaherezi bacu+.”

10 Kandi abavyemeje n’ikidodo+ bari aba:

Nehemiya+ Buramatari*+ mwene Hakaliya+,

Na Zedekiya, 2 Seraya+, Azariya, Yeremiya, 3 Pashuri, Amariya, Malikiya, 4 Hatushi, Shebaniya, Maluku, 5 Harimu+, Meremoti, Obadiya, 6 Daniyeli+, Ginetoni, Baruki, 7 Meshulamu, Abiya, Miyamini, 8 Mayaziya, Biligayi na Shemaya, bano bakaba bari abaherezi.

9 N’Abalewi: Yeshuwa+ mwene Azaniya, Binuwi wo muri bene Henadadi+, Kadumiyeli 10 na bene wabo ari bo Shebaniya+, Hodiya, Kelita, Pelaya, Hanane, 11 Mika, Rehobu, Hashabiya, 12 Zakuri, Sherebiya+, Shebaniya, 13 Hodiya, Bani na Beninu.

14 Abakuru b’abantu: Paroshi, Pahati-mowabu+, Elamu, Zatu, Bani, 15 Buni, Azigadi, Bebayi, 16 Adoniya, Bigivayi, Adini, 17 Ateri, Hezekiya, Azuri, 18 Hodiya, Hashumu, Bezayi, 19 Harifu, Anatoti, Nebayi, 20 Magipiyashi, Meshulamu, Heziri, 21 Meshezabeli, Zadoki, Yaduwa, 22 Pelatiya, Hanane, Anaya, 23 Hosheya, Hananiya, Hashubu, 24 Haloheshi, Piliha, Shobeki, 25 Rehumu, Hashabuna, Mayaseya, 26 na Ahiya, Hanane, Anane, 27 Maluku, Harimu, Bayana.

28 Abantu basigaye na bo, abaherezi+, Abalewi+, abarinzi b’amarembo+, abaririmvyi+, Abanetinimu+, n’abantu bose bariko bitandukanya n’ibisata vy’abantu vy’ibihugu+ kugira bakurikize itegeko+ ry’Imana y’ukuri, abagore babo, abahungu babo n’abakobwa babo, abantu bose bari bafise ubumenyi n’ubwenge+, 29 bifatanya na bene wabo+, abakomakomeye babo+, bararahira+, bemera no kuvumwa baramutse babirenzeko+, yuko bazogendera mw’itegeko ry’Imana y’ukuri, iryari ryaratanzwe biciye ku kuboko kwa Musa umusavyi w’Imana y’ukuri+, be n’uko bazogumya+ bakongera bagashitsa amabwirizwa yose ya Yehova Umukama+ wacu n’ingingo z’ubutungane ziwe n’ingingo nyobozi ziwe+; 30 dusezerana kandi yuko tutohaye abakobwa bacu ibisata vy’abantu vyo mu gihugu, kandi ko abakobwa babo tutobasabiye abahungu bacu+.

31 Ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyo mu gihugu+ vyari bisanzwe bizana ibidandazwa n’ubwoko bwose bw’intete ku musi w’isabato kubigurisha, dusezerana yuko ata kintu na kimwe cabo twokwakiriye kw’isabato+ canke ku musi mweranda+, be n’uko twohevye ivyo mu mwaka ugira indwi+ n’umwenda w’umuntu wese+.

32 Vyongeye, twitegeka gutanga umwe wese muri twebwe ica gatatu ca shekeli ku mwaka ku mwaka ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana yacu+, 33 ku bw’imikate igerekeranye+, n’ishikanwa ry’intete ry’ubudasiba+, n’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba ry’amasabato+ n’imboneko z’ukwezi+, ku bw’imisi mikuru yashinzwe+, ku bw’ibintu vyeranda+, no ku bw’amashikanwa y’igicumuro+ yo gutangira impongano* Isirayeli, no ku bw’igikorwa cose c’inzu y’Imana yacu+.

34 Vyongeye, dupfinda ubupfindo+ ku bijanye no gutanga inkwi+, izo abaherezi, Abalewi n’abantu bakwiye kuzana ku nzu y’Imana yacu, hakurikijwe inzu ya ba sogokuruza bacu, ku bihe vyashinzwe, ku mwaka ku mwaka, kugira ngo zicanwe ku gicaniro* ca Yehova Imana yacu+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko+; 35 twitegeka no kuzana ku nzu ya Yehova ivyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwacu+ n’ivyamwa vya mbere vyeze mu vyamwa vyose vy’ubwoko bwose bw’ibiti+, ku mwaka ku mwaka; 36 n’imfura+ mu bahungu bacu be n’ivy’uburiza mu bitungwa vyacu+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko+, n’ivy’uburiza mu masho yacu no mu mikuku yacu+, tukabizana ku nzu y’Imana yacu, ku baherezi bariko bakorera mu nzu y’Imana yacu+. 37 N’ikindi kandi, umushuzo w’ifu itanoze+ yacu n’intererano+ zacu n’ivyamwa vy’ubwoko bwose bw’ibiti+, umuvinyu mushasha+ n’amavuta+, tubwirizwa kubizanira abaherezi, mu vyumba vy’uburiro+ vy’inzu y’Imana yacu, tukazanira kandi Abalewi+ ic’icumi c’umwimbu w’ubutaka bwacu, kuko Abalewi ari bo bakira ic’icumi mu bisagara vy’uburimyi vyacu vyose.

38 Kandi umuherezi, mwene Aroni, ategerezwa kuba ari kumwe n’Abalewi igihe Abalewi bakira ic’icumi; Abalewi na bo babwirizwa gushikana ic’icumi c’ic’icumi ku nzu y’Imana yacu+, mu vyumba vy’uburiro+ vy’inzu y’ububiko. 39 Kuko mu vyumba vy’uburiro ari ho bene Isirayeli n’abahungu b’Abalewi bakwiye kuzana intererano+ y’intete, n’umuvinyu mushasha+ n’amavuta, kandi ni ho hari ibikoresho vy’aheranda n’abaherezi bakora igikorwa+, n’abarinzi b’amarembo+ n’abaririmvyi+; kandi tubwirizwa kudafata minenegwe inzu y’Imana yacu+.

11 Ico gihe abaganwa+ b’abantu baba i Yeruzalemu+; mugabo ku bijanye n’abantu basigaye, hapfindwa ubupfindo+ kugira ngo umwe kuri cumicumi azanwe kuba i Yeruzalemu igisagara ceranda+, icenda basigaye na bo babe mu bindi bisagara. 2 Vyongeye, abantu bahezagira+ abantu bose bitanze+ kugira babe i Yeruzalemu.

3 Aba ni bo bakuru b’intara y’ubutware+ baba i Yeruzalemu+; mugabo mu bisagara vya Yuda haba Isirayeli+, abaherezi+ n’Abalewi+, Abanetinimu+ n’abahungu b’abasuku ba Salomo+, umwe wese mu ntoranwa yiwe, mu bisagara vyabo+.

4 I Yeruzalemu haba kandi bamwe muri bene Yuda na bamwe muri bene Benyamini+. Muri bene Yuda yari Ataya mwene Uziya, Uziya mwene Zekariya, Zekariya mwene Amariya, Amariya mwene Shefatiya, Shefatiya mwene Mahalaleli, wo muri bene Perezi+; 5 na Mayaseya mwene Baruki, Baruki mwene Kolihoze, Kolihoze mwene Hazaya, Hazaya mwene Adaya, Adaya mwene Yoyaribu, Yoyaribu mwene Zekariya, Zekariya umuhungu w’Umushela. 6 Bene Perezi bose baba i Yeruzalemu bari amajana ane na mirongo itandatu n’umunani, abagabo babishoboye.

7 Bene Benyamini+ ni aba: Salu mwene Meshulamu+, Meshulamu mwene Yowedi, Yowedi mwene Pedaya, Pedaya mwene Kolaya, Kolaya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Itiyeli, Itiyeli mwene Yeshaya; 8 agakurikirwa na Gabayi na Salayi, bose bakaba bari amajana icenda na mirongo ibiri n’umunani; 9 na Yoweli mwene Zikiri, umucungezi wabo, na Yuda mwene Hasenuwa uwagira kabiri mu kuganza igisagara.

10 Mu baherezi ni aba: Yedaya mwene Yoyaribu+, Yakini+, 11 Seraya mwene Hilikiya, Hilikiya mwene Meshulamu+, Meshulamu mwene Zadoki+, Zadoki mwene Merayoti, Merayoti mwene Ahitubu+, indongozi y’inzu y’Imana y’ukuri; 12 na bene wabo, abakora igikorwa c’iyo nzu+, bose bakaba bari amajana umunani na mirongo ibiri na babiri; na Adaya mwene Yerohamu+, Yerohamu mwene Pelaliya, Pelaliya mwene Amuzi, Amuzi mwene Zekariya, Zekariya mwene Pashuri+, Pashuri mwene Malikiya+, 13 na bene wabo, abakuru b’amazu ya ba sekuru+, bose bakaba bari amajana abiri na mirongo ine na babiri, na Amashisayi mwene Azareli, Azareli mwene Ahazayi, Ahazayi mwene Meshilemoti, Meshilemoti mwene Imeri, 14 na bene wabo, abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari+, bose bakaba bari ijana na mirongo ibiri n’umunani, kandi hariho umucungezi+ wabo, ari we Zabidiyeli umuhungu w’abahambaye.

15 Mu Balewi+ ni aba: Shemaya mwene Hashubu, Hashubu mwene Azirikamu, Azirikamu mwene Hashabiya+, Hashabiya mwene Buni, 16 na Shabetayi+ na Yozabadi+, bo mu bakuru b’Abalewi, bakaba bari bajejwe ivyo hanze y’inzu y’Imana y’ukuri; 17 na Mataniya+ mwene Mika, Mika mwene Zabidi, Zabidi mwene Asafu+, umurongozi w’indirimbo zo gushemeza+, akaba ari we yahaya Imana mu gihe c’isengesho+, na Bakibukiya yagira kabiri muri bene wabo, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa mwene Galali+, Galali mwene Yedutuni+. 18 Abalewi bose mu gisagara ceranda+ bari amajana abiri na mirongo umunani na bane.

19 Abarinzi b’amarembo+ bari Akubu, Talimoni+ na bene wabo bacungera mu marembo+, bose bakaba bari ijana na mirongo irindwi na babiri.

20 Abasigaye bo muri Isirayeli, bo mu baherezi no mu Balewi, bari mu bindi bisagara vyose vya Yuda, umwe wese mu ntoranwa yiwe+. 21 Abanetinimu+ baba i Ofeli+; Ziha na Gishipa ni bo bari abakuru b’Abanetinimu.

22 Umucungezi+ w’Abalewi i Yeruzalemu yari Uzi mwene Bani, Bani mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Mataniya+, Mataniya mwene Mika+, wo mu bahungu ba Asafu+, abaririmvyi+, ku bijanye n’igikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri. 23 Kuko hariho ibwirizwa ry’umwami ku biberekeye+, kandi hariho intunganyo yashinzwe yari igenewe abaririmvyi bivanye n’ivyo bakenera ku musi ku musi+. 24 Petahiya mwene Meshezabeli wo muri bene Zera, Zera mwene Yuda, yari iruhande y’umwami ku bijanye n’ikibazo cose c’abantu.

25 Ku bijanye n’imihana irundanye+ yo mu turere twabo, hari bamwe muri bene Yuda baba i Kiriyati-aruba+ no mu bisagara bihakukira, i Diboni no mu bisagara bihakukira, i Yekabuzeyeli+ no mu mihana irundanye ihakukira, 26 i Yeshuwa, i Molada+, i Beti-peleti+, 27 i Hazari-shuwali+, i Beyeri-sheba+ no mu bisagara bihakukira, 28 i Zikulagi+, i Mekona no mu bisagara bihakukira, 29 i Eni-rimoni+, i Zora+, i Yarimuti+, 30 i Zanowa+, i Adulamu+ no mu mihana irundanye ihakukira, i Lakishi+ no mu turere twaho, be n’i Azeka+ no mu bisagara bihakukira. Nuko bakambika kuva i Beyeri-sheba gushika ku mubande wa Hinomu+.

31 Bene Benyamini baba kuva i Geba+ kubandanya i Mikimashi+, i Ayija+, i Beteli+ no mu bisagara bihakukira, 32 i Anatoti+, i Nobu+, i Ananiya, 33 i Hazori, i Rama+, i Gitayimu+, 34 i Hadidi, i Zeboyimu, i Nebalati, 35 i Lodi+, i Ono+, mu mubande w’abahinguzi b’utugenegene. 36 Mu Balewi, hari imice ya Yuda yaba muri Benyamini.

12 Aba ni bo baherezi n’Abalewi baduganye na Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ be na Yeshuwa+: Seraya, Yeremiya, Ezira, 2 Amariya+, Maluku, Hatushi, 3 Shekaniya, Rehumu, Meremoti, 4 Ido, Ginetoyi, Abiya, 5 Miyamini, Mayadiya, Biliga, 6 Shemaya+, Yoyaribu, Yedaya+, 7 Salu, Amoki+, Hilikiya, Yedaya+. Abo ni bo bari abakuru b’abaherezi na bene wabo, mu misi ya Yeshuwa+.

8 Abalewi bari Yeshuwa+, Binuwi+, Kadumiyeli+, Sherebiya, Yuda, Mataniya+, uno akaba yari ahagarikiye ivy’ugukenguruka, we na bene wabo. 9 Bakibukiya na Uni bene wabo bari babangabanganye na bo ku bijanye n’ibikorwa vy’ukurinda. 10 Yeshuwa yavyaye Yoyakimu+, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu+ na we avyara Yoyada+. 11 Yoyada yavyaye Yonatani, Yonatani na we avyara Yaduwa+.

12 Mu misi ya Yoyakimu hariho abaherezi, abakuru b’amazu ya ba sekuru+, ari bo b’aba: ku bwa Seraya+ yari Meraya; ku bwa Yeremiya yari Hananiya; 13 ku bwa Ezira+ yari Meshulamu; ku bwa Amariya yari Yehohanani; 14 ku bwa Maluki yari Yonatani; ku bwa Shebaniya+ yari Yozefu; 15 ku bwa Harimu+ yari Aduna; ku bwa Merayoti yari Helikayi; 16 ku bwa Ido yari Zekariya; ku bwa Ginetoni yari Meshulamu; 17 ku bwa Abiya+ yari Zikiri; ku bwa Miniyamini yari——*; ku bwa Mowadiya yari Pilitayi; 18 ku bwa Biliga+ yari Shamuwa; ku bwa Shemaya yari Yehonatani; 19 ku bwa Yoyaribu yari Matenayi; ku bwa Yedaya+ yari Uzi; 20 ku bwa Salayi yari Kalayi; ku bwa Amoki yari Eberi; 21 ku bwa Hilikiya yari Hashabiya; ku bwa Yedaya+ yari Netaneli.

22 Mu misi ya Eliyashibu+ na Yoyada+ na Yohanani na Yaduwa+, Abalewi banditswe bwa bakuru b’amazu ya ba sekuru, n’abaherezi nyene, gushika ku ngoma ya Dariyo Umuperesi.

23 Bene Lewi, bwa bakuru b’amazu ya ba sekuru+, banditswe mu gitabu c’ivyo muri ivyo bihe, egome, gushika mu misi ya Yohanani mwene Eliyashibu. 24 Abakuru b’Abalewi bari Hashabiya, Sherebiya+ na Yeshuwa mwene Kadumiyeli+ na bene wabo babangabanganye na bo mu gushemeza Imana no kuyikengurukira bisunze ibwirizwa+ rya Dawidi umuntu w’Imana y’ukuri, umugwi w’abarinzi ugahwana n’uwundi. 25 Mataniya+ na Bakibukiya na Obadiya na Meshulamu na Talimoni na Akubu+ bacungera ari abarinzi b’amarembo+, ukaba wari umugwi w’abarinzi wakorera hafi y’ububiko bwo ku marembo. 26 Abo bariho mu misi ya Yoyakimu+ mwene Yeshuwa+, Yeshuwa mwene Yozadaki+ no mu misi ya Nehemiya+ buramatari na Ezira+ umuherezi, umwimuzi+.

27 Mu gihe co gushikiriza+ uruhome rwa Yeruzalemu, barondera Abalewi ngo babazane i Yeruzalemu babakuye aho baba hose, kugira ngo hagirwe ishikiriza habe n’umunezero, egome, biherekejwe n’ugukenguruka+ n’ururirimbo+, be n’ukuvuza ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+. 28 Nuko abahungu b’abaririmvyi bakoranira hamwe bavuye mu Ntara+, bavuye mu micungararo ya Yeruzalemu no mu mihana irundanye y’Abanyanetofa+, 29 n’i Beti-gilugali+ no mu turere twa Geba+ na Azimaveti+, kuko abaririmvyi bari bariyubakiye mu micungararo ya Yeruzalemu imihana irundanye+. 30 Nuko abaherezi n’Abalewi barihumanura+ hanyuma bahumanura abantu+ n’amarembo+ n’uruhome+.

31 Maze nuriza abaganwa+ ba Yuda ku ruhome. Vyongeye, nshiraho imigwi ibiri mininiminini y’abaririmvyi y’ugukenguruka+ hamwe n’imigwi yo kubakurikira, umwe ukaba wagendera iburyo ku ruhome ugana kw’Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota+. 32 Nuko Hoshaya n’igice c’abaganwa ba Yuda batangura kugendera inyuma yabo, 33 na Azariya na Ezira na Meshulamu, 34 na Yuda na Benyamini na Shemaya na Yeremiya; 35 be n’abo mu bahungu b’abaherezi bafise inzumbete+, ari bo Zekariya mwene Yonatani, Yonatani mwene Shemaya, Shemaya mwene Mataniya, Mataniya mwene Mikaya, Mikaya mwene Zakuri+, Zakuri mwene Asafu+, 36 na bene wabo ari bo Shemaya na Azareli na Milalayi na Gilalayi na Mayayi na Netaneli na Yuda na Hanani, bafise ibicurarangisho+ vy’ururirimbo vya Dawidi umuntu w’Imana y’ukuri; Ezira+ umwimuzi yari imbere yabo. 37 Kw’Irembo ryo kw’Isôko+, batumbereye imbere yabo, baduga ku Nzira y’Ingazi+ y’Igisagara ca Dawidi+, baciye ku mudugo w’uruhome hejuru y’Inzu ya Dawidi bashika kw’Irembo ry’Amazi+, amaja mu buseruko.

38 Uwundi mugwi w’abaririmvyi wo gukengurukira+ Imana wariko ugendera imbere, nanje ndi inyuma yawo, be n’ica kabiri c’abantu, ku ruhome, hejuru ku Munara w’Amafuru y’Ukwotsa+, baragenda gushika ku Ruhome Rwagutse+, 39 no hejuru y’Irembo rya Efurayimu+ no gushika kw’Irembo ry’Igisagara ca Kera+, no gushika kw’Irembo ry’Amafi+ no ku Munara wa Hananeli+ no ku Munara wa Meya+, gushika kw’Irembo ry’Intama+; bahagarara kw’Irembo ry’Abarinzi.

40 Amaherezo iyo migwi ibiri y’abaririmvyi yo gukengurukira+ Imana ihagarara ku nzu+ y’Imana y’ukuri, na jewe nyene ndi kumwe n’ica kabiri c’ivyegera vy’abatware+, 41 n’abaherezi Eliyakimu, Mayaseya, Miniyamini, Mikaya, Eliyowenayi, Zekariya, Hananiya bafise inzumbete+, 42 na Mayaseya na Shemaya, na Eleyazari na Uzi na Yehohanani na Malikiya na Elamu na Ezeri. Kandi abaririmvyi bari kumwe na Izirahiya umucungezi baguma baririmba n’ijwi ryumvikana+.

43 Nuko kuri uwo musi bashikana ibimazi vyinshi+ kandi baranezerwa+, kuko Imana y’ukuri ubwayo yatuma banezerwa akanyamuneza kenshi+. N’abagore+ be n’abana+ baranezerwa, ku buryo umunezero wa Yeruzalemu wumvikana kure+.

44 Vyongeye, kuri uwo musi hagenwa abagabo bajejwe ivyumba+ bigenewe ububiko+, intererano+, imishuzo+, n’ivy’icumi+, kugira ngo bavyegeranirizemwo imigabane ivuye mu turere tw’ibisagara, iyo itegeko+ ryasaba guha abaherezi n’Abalewi+; kuko Yuda yari yanezerejwe n’uko abaherezi n’Abalewi+ bari ku gikorwa. 45 Nuko batangura kwitwararika ico basabwa+ n’Imana yabo be n’ico basabwa ku bijanye n’ityorora+, be n’abaririmvyi+ n’abarinzi b’amarembo+, hakurikijwe ibwirizwa rya Dawidi n’irya Salomo umuhungu wiwe. 46 Kuko mu misi ya Dawidi na Asafu, mu gihe ca kera cane, hariho abakuru b’abaririmvyi+ n’ururirimbo rwo gushemeza Imana no kuyikengurukira+. 47 Kandi Isirayeli yose, mu misi ya Zerubabeli+ no mu misi ya Nehemiya+, yaratanga imigabane y’abaririmvyi+ n’iy’abarinzi b’amarembo+ hisunzwe ivyo bakenera ku musi ku musi maze ikerezwa Abalewi+; Abalewi na bo barayereza bene Aroni.

13 Kuri uwo musi, basomera+ abantu mu gitabu+ ca Musa; nuko basanga handitswemwo yuko Umwamoni+ n’Umunyamowabu+ badakwiye kwinjira mw’ishengero ry’Imana y’ukuri gushika igihe kitagira urugero+, 2 kuko batari barasanganije bene Isirayeli umukate+ n’amazi+, mugabo bagahera Balamu+ ngo ahamagarire akabi kuri bo+. Ariko Imana yacu uwo muvumo iwuhindura umuhezagiro+. 3 Nuko bakimara kwumva iryo tegeko+, batangura gutandukanya+ uruvange rw’abantu rwose na Isirayeli.

4 Ariko imbere y’ivyo, Eliyashibu+ umuherezi ajejwe icumba c’uburiro+ c’inzu y’Imana yacu yari incuti ya Tobiya+; 5 atangura kwitegurira icumba c’uburiro kinini+, ahahora hashirwa ubudasiba ishikanwa ry’intete+ n’imibavu ya olibani, n’ibikoresho, n’ic’icumi c’intete n’umuvinyu mushasha+ n’amavuta+, ico c’icumi kikaba ari ico Abalewi+ n’abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo bafitiye uburenganzira, hagashirwa n’intererano igenewe abaherezi.

6 Muri ico gihe cose, sinari i Yeruzalemu, kuko mu mwaka ugira mirongo itatu na kabiri+ wa Aritazeruzi+ umwami wa Babiloni nari nagiye ku mwami, maze haciye igihe ngasaba umwami ngo andekure ngende+. 7 Nuko nza i Yeruzalemu maze mbona ikibi Eliyashibu+ yari yarakoze ku neza ya Tobiya+ mu kumutegurira icumba mu kigo c’inzu+ y’Imana y’ukuri. 8 Ivyo mbibona nabi cane+. Nterera+ rero hanze y’icumba c’uburiro ibikoresho vyose vy’inzu ya Tobiya. 9 Inyuma y’ivyo, ntanga itegeko maze bahumanura+ ivyumba vy’uburiro+; ntangura gusubizayo ibikoresho+ vy’inzu y’Imana y’ukuri, hamwe n’ishikanwa ry’intete be n’imibavu ya olibani+.

10 Nuko menya yuko Abalewi batari barahawe imigabane+ yabo, ku buryo Abalewi n’abaririmvyi bakora igikorwa bari barataye bakomoka, umwe wese akigira kw’itongo ryiwe+. 11 Maze ntangura gutatira+ ivyegera vy’abatware+ nti: “Kubera iki inzu y’Imana y’ukuri yafashwe minenegwe+?” Ndabakoraniriza hamwe rero hanyuma ndabashira mu bibanza vyabo. 12 Nuko Yuda yose izana mu bubiko+ ic’icumi+ c’intete+ n’ic’umuvinyu mushasha+ n’ic’amavuta+. 13 Maze nzeza ubwo bubiko Shelemiya umuherezi na Zadoki umwimuzi na Pedaya wo mu Balewi; bano bagaba Hanane mwene Zakuri, Zakuri mwene Mataniya+, kuko babonwa ko ari abizigirwa+; ni bo bari bajejwe kugabanganiriza+ ibintu bene wabo.

14 Uze unyibuke+ kuri ivyo, ewe Mana yanje, ntuze uhanagure+ ibikorwa vyanje vy’ubuntu bwuzuye urukundo nakoze ku bijanye n’inzu+ y’Imana yanje be n’ukuyirinda.

15 Muri iyo misi mbona muri Yuda abantu bariko baganisha amaguru mu nganiro z’umuvinyu kw’isabato+, bazana ibirundo vy’intete bongera babiremeka+ indogobwa+, bakaziremeka n’umuvinyu n’inzabibu n’insukoni+ n’imizigo y’ubwoko bwose, bakavyinjiza i Yeruzalemu ku musi w’isabato+; nuko ntangura kubagiriza ku musi bariko bagurisha ibiribwa. 16 Abanyatiro+ baba mu gisagara, bakaba barazana amafi n’ubwoko bwose bw’ibidandazwa+ bakabigurisha kw’isabato kuri bene Yuda n’i Yeruzalemu. 17 Nuko ntangura gutatira abanyacubahiro+ ba Yuda, ndababwira nti: “Ico kintu kibi muriko murakora ni igiki, mugahumanya mbere n’umusi w’isabato? 18 Mbega ukwo si ko ba sogokuruza banyu bakoze+, bigatuma Imana yacu iduteza ibi vyago vyose+, ikabiteza n’iki gisagara? Yamara muriko mwongereza ishavu rirurumbira Isirayeli mu guhumanya isabato+.”

19 Mu marembo ya Yeruzalemu hakimara kwijima imbere y’uko isabato ishika, nca ntanga itegeko maze batangura kwugara imiryango+. Mvuga kandi yuko badakwiye kuyugurura gushika isabato imaze kurangira; nshira bamwe mu basuku banje ku marembo kugira ngo ntihagire umuzigo winjira ku musi w’isabato+. 20 Abacuruza n’abagurisha ibidandazwa vy’ubwoko bwose barara rero hanze ya Yeruzalemu incuro imwe n’iyigira kabiri. 21 Maze ntangura gushinga intahe+ ndabagiriza, ndababwira nti: “Kubera iki murara imbere y’uruhome? Nimwasubira nzobashorerako amaboko+.” Kuva ico gihe ntibongeye kuza kw’isabato.

22 Hanyuma mbwira Abalewi+ yuko bakwiye kwama bityorora+, bakaza gucungera amarembo+ kugira beze+ umusi w’isabato. Ivyo na vyo nyene uze uvyibuke+ ku neza yanje, ewe Mana yanje, kandi uze unyumvire akagongwe nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+ bwinshi buri.

23 Vyongeye, muri iyo misi mbona Abayuda bari barabiriye+ abagore b’Abanyashidodikazi+ n’ab’Abamonikazi n’ab’Abanyamowabukazi+. 24 Nayo abahungu babo, igice kimwe cavuga ikinyashidodi; nta numwe muri bo yari azi kuvuga ikiyuda+, mugabo bavuga ururimi rw’ibisata vy’abantu bitandukanye. 25 Nuko ndabatatira nongera mpamagarira akabi kuri bo+; nkubita abagabo bamwe muri bo+, ndabashikura imishatsi maze ndabarahiza Imana+ nti: “Ntimugahe abakobwa banyu abahungu babo, kandi ntihakagire n’umwe mu bakobwa babo musabira abahungu banyu canke ngo mubisabire mwebwe ubwanyu+. 26 Mbega abo si bo bacumuje Salomo umwami wa Isirayeli+? Mu mahanga menshi nta mwami ameze nka we yariho+; kandi yarakundwa n’Imana yiwe+, ku buryo Imana imugira umwami wa Isirayeli yose. Na we nyene abagore b’abanyamahangakazi baramucumuje+. 27 Mbega si akamaramaza kubona mukora ico kibi gikomeye cose mugahemukira Imana yacu mu kwabira abagore b’abanyamahangakazi+?”

28 Kandi umwe muri bene Yoyada+, Yoyada mwene Eliyashibu+ umuherezi mukuru, yari umukwe wa Sanibalati+ Umuhoroni+. Nuko ndamwirukana, amva iruhande+.

29 Uze ubibuke, ewe Mana yanje, kubera bahumanije+ ubuherezi n’isezerano+ ry’ubuherezi n’Abalewi+.

30 Nuko ndabatyorora+ mbakuramwo ikintu cose c’ikinyamahanga maze nshinga ibikorwa abaherezi n’Abalewi, umwe wese mu gikorwa ciwe+, 31 mbere ntunganya ibijanye n’ukuzana inkwi+ ku bihe vyashinzwe be n’ibijanye n’ivyamwa vya mbere vyeze.

Uze unyibuke+, ewe Mana yanje, ungirire iciza+.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Ijambo ku rindi ni “azokoroka.”

Canke kandi, “Abashumba b’urusengero.” Ijambo ku rindi ni “Abatanzwe.”

Ijambo ku rindi ni “Tirushata,” rino rikaba ari izina ry’icubahiro ryo mu Buperesi.

Raba Inyongera ya 21.

Mu bisanzwe idarakima yari ihwanye n’igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4. Si ya darakima ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.

Imina yapima amagarama 570. Si ya mina ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.

Ijambo ku rindi ni “Tirushata,” rino rikaba ari izina ry’icubahiro ryo mu Buperesi.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Neh 8:9, akajambo k’epfo.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Biboneka yuko mu gisomwa c’igiheburayo ata zina rihari.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika