ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 2 Ngoma 1:1-36:23
  • 2 Ngoma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Ngoma
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
2 Ngoma

Igitabu ca Kabiri c’ivyo ku Ngoma

1 Nuko Salomo mwene Dawidi abandanya kugira inkomezi ku ngoma yiwe+, kandi Yehova Imana yiwe yari kumwe na we+, akaguma amugira uwuhambaye bihebuje+.

2 Hanyuma Salomo aha itegeko Isirayeli yose, abakuru b’ibihumbi+ n’ab’amajana+ n’abacamanza+ n’abakuru bose ba Isirayeli yose+, abakuru b’amazu ya ba sekuru+. 3 Maze Salomo ari kumwe n’ishengero ryose baja ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+; kuko ng’aho ari ho hari ihema ry’ihuriro+ ry’Imana y’ukuri, iryo Musa umusavyi+ wa Yehova yari yarakoreye mu gahinga. 4 Ariko isandugu+ y’Imana y’ukuri Dawidi yari yarayikuye i Kiriyati-yeyarimu+ ayidugana mu kibanza yari yarayiteguriye+, kuko yari yarayishingiye ihema i Yeruzalemu+. 5 Igicaniro* c’umujumpu+ Bezaleli+ umuhungu wa Uri mwene Huru+ yari yarakoze cari cashizwe imbere y’itaberenakulo* ya Yehova; Salomo n’ishengero bama bagisiguza nk’uko vyari bisanzwe. 6 Salomo araheza ashikana amashikanwa ng’aho imbere ya Yehova kuri nya gicaniro c’umujumpu cegukira ihema ry’ihuriro, atangura gushikana kuri co amashikanwa aturirwa igihumbi+.

7 Muri iryo joro Imana ibonekera Salomo maze imubwira iti: “Saba! Ndaguhe iki+?” 8 Salomo aca abwira Imana ati: “Ni wewe wagiriye cane ubuntu bwuzuye urukundo Dawidi dawe+ kandi ungira umwami mu kibanza ciwe+. 9 None rero, ewe Yehova Mana, umuhango wawe wahaye Dawidi dawe nube uwo kwizigirwa+, kuko ari wewe wanyimitse ukangira umwami+ wo kuganza igisata c’abantu mu bwinshi bangana nk’udutete tw’umukungugu w’isi+. 10 Numpe rero ubukerebutsi n’ubumenyi+ kugira ngo nyobore aba bantu neza+; nakare, ni nde yoshobora gucira imanza aba bantu bawe n’ingene ari benshi+?”

11 Maze Imana ibwira Salomo iti: “Ko wagize ico cipfuzo mu mutima wawe+, ntusabe ubutunzi, amatungo n’iteka canke ubuzima bw’abakwanka, eka mbere ntusabe kumara imisi myinshi+, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje, abo nakwimitsemwo ngo ubaganze+, 12 ubukerebutsi n’ubumenyi urabihawe+; nzoguha n’ubutunzi n’amatungo n’iteka ata bami bakwitangiye imbere bigeze bagira+, kandi ata n’umwe azoza mu nyuma zawe azogira+.”

13 Nuko Salomo ava kuri nya kibanza gikirurutse cari i Gibeyoni+, imbere y’ihema ry’ihuriro+, aja i Yeruzalemu maze abandanya kuganza Isirayeli+. 14 Salomo aguma akoranya imikogote n’amafarasi y’imbangutsi, ku buryo ahava akagira imikogote igihumbi n’amajana ane n’amafarasi y’imbangutsi ibihumbi cumi na bibiri+; abishira mu bisagara vy’imikogote+ no hafi y’umwami i Yeruzalemu. 15 Amafeza n’inzahabu umwami abigira nk’amabuye i Yeruzalemu+; ibiti vy’amasederi na vyo abigira nk’ibiti vy’imisukomora+ biri muri Shefela*+, mu bwinshi. 16 Amafarasi Salomo yaronka yakurwa mu Misiri+; umugwi w’abadandaza b’umwami waratora ubusho bw’amafarasi ku kiguzi+. 17 Kandi bari basanzwe baduga, bagakura mu Misiri umukogote ku bice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo kw’ijana na mirongo itanu; ukwo ni ko vyagenda ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya+. Ivyo bintu babikurayo biciye kuri bo.

2 Nuko Salomo ategeka ko bubakira inzu+ izina rya Yehova+ bakubaka n’inzu ku bw’ingoma yiwe+. 2 Salomo aharura rero abagabo ibihumbi mirongo irindwi ngo babe abo gutwara imizigo n’abagabo ibihumbi mirongo umunani ngo babe abo kuringaniza amabuye ku musozi+, n’ibihumbi bitatu n’amajana atandatu ngo babe abahagarikizi babo+. 3 Vyongeye, Salomo atuma kuri Hiramu+ umwami wa Tiro ati: “Nk’uko wagiriye Dawidi+ dawe, ukaguma umurungikira ibiti vy’amasederi kugira ngo yiyubakire inzu yo kubamwo, . . . 4 ehe ngira nubakire+ inzu izina+ rya Yehova Imana yanje kugira ngo ndayimwereze+, kugira ngo nturirire imbere yiwe imibavu* imota neza+, habe n’imikate igerekeranye y’ubudasiba+ n’amashikanwa aturirwa, mu gitondo no ku mugoroba+, ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku biringo vy’imisi mikuru+ vya Yehova Imana yacu. Ivyo ni vyo Isirayeli izobwirizwa kugira gushika igihe kitagira urugero*+. 5 Kandi inzu ngira nubake izoba iyihambaye+, kuko Imana yacu ihambaye kuruta izindi mana zose+. 6 Bisubiye, ni nde yogumana inkomezi zo kumwubakira inzu+? Kuko amajuru be n’ijuru ry’amajuru bidashobora kumukwira+, kandi jewe ndi nde+ ngo ndamwubakire inzu, atari ugufumbishiriza umwotsi w’ibimazi imbere yiwe+? 7 None rero nundungikire umugabo w’umuhanga wo gukora mu vy’inzahabu no mu vy’ifeza no mu vy’umujumpu+ no mu vy’ivyuma, no mu vy’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura no mu vy’ibara ry’umutukutuku rihinze no mu vy’inyuzi z’ubururu, kandi azi kugira udusaruro; azoba ari kumwe n’abagabo b’abahanga bari kumwe nanje muri Yuda n’i Yeruzalemu, abo Dawidi dawe yateguye+. 8 Undungikire ibiti vy’amasederi+, n’umuberoshi+ na alugumu+ vy’i Libani+, kuko jewe nzi neza yuko abasuku bawe bazi utuntu n’utundi mu vy’ukwicira ibiti vy’i Libani+, (kandi ehe abasuku banje bari kumwe n’abasuku bawe,) 9 egome, kugira ngo bantegurire ibiti vyinshi, kuko inzu ngira nubake izoba iyihambaye, emwe, mu buryo bw’agatangaza. 10 Kandi ehe abasuku bawe, abegeranya ibiti, abicira ibiti, ndabahaye ingano ngo zibabere ibifungurwa, zingana n’ingero za koro ibihumbi mirongo ibiri+, na sayiri* ingana n’ingero za koro ibihumbi mirongo ibiri, n’umuvinyu+ ungana n’ingero za bati* ibihumbi mirongo ibiri, be n’amavuta angana n’ingero za bati ibihumbi mirongo ibiri.”

11 Nuko Hiramu umwami wa Tiro+ avuga ubutumwa bwo gushira mu nyandiko hanyuma aburungikira Salomo, ati: “Kubera ko Yehova yakunze+ abantu biwe, yarakugize umwami wo kubaganza+.” 12 Hiramu abandanya kuvuga ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, we yakoze amajuru n’isi+, kuko yahaye Dawidi umwami umuhungu w’inkerebutsi, azi utuntu n’utundi mu vy’ukwiyubara no mu vy’ugutegera+, azokwubakira inzu Yehova akubaka n’inzu ku bw’ingoma yiwe+. 13 None ubu ndungitse umugabo w’umuhanga, azi utuntu n’utundi mu vy’ugutegera, yitwa Hiramu-abi+, 14 umuhungu w’umugore wo muri bene Dani, mugabo se akaba yari umugabo w’i Tiro, azi utuntu n’utundi, wo gukora mu vy’inzahabu no mu vy’ifeza, mu vy’umujumpu+, mu vy’ivyuma, mu vy’amabuye+ no mu vy’ibiti, mu vy’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura+, mu vy’inyuzi z’ubururu+ no mu vy’ibitambara vyiza+ no mu vy’ibara ry’umutukutuku rihinze+, no mu vy’ugusarura ubwoko bwose bw’udusaruro+, no mu vy’ugutunganya ubwoko bwose bw’umugambi+ yohabwa; azoba ari kumwe n’abantu bawe b’abahanga n’abantu b’abahanga b’umukama wanje Dawidi so. 15 None rero ingano na sayiri n’amavuta n’umuvinyu umukama wanje yasezeranye, nabirungikire abasuku biwe+. 16 Natwe tuzokwicira ibiti+ vy’i Libani dukurikije ivyo ukeneye vyose+, maze tubikuzanire i Yopa+ bifatanijwe nk’amasaso, tubicishije mu kiyaga+, nawe ubidugane i Yeruzalemu.”

17 Maze Salomo aharura abantu bose ba kavamahanga bari mu gihugu ca Isirayeli+, inyuma y’urusansuma Dawidi se wiwe yari yarabagiriye+; haboneka ibihumbi ijana na mirongo itanu na bitatu n’amajana atandatu. 18 Nuko ibihumbi mirongo irindwi muri bo abagira abo gutwara imizigo+, ibihumbi mirongo umunani abagira abo kuringaniza amabuye+ ku musozi, ibihumbi bitatu n’amajana atandatu na bo abagira abacungezi bo gutuma abantu baguma ku gikorwa+.

3 Amaherezo Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova+ i Yeruzalemu ku musozi Moriya+, aho Yehova yari yarabonekeye Dawidi se wiwe+, mu kibanza Dawidi yari yarateguye ku mbuga y’ikubitiro ya Orunani+ Umuyebusi. 2 Nuko atangura kwubaka mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira kabiri, mu mwaka ugira kane w’ingoma yiwe+. 3 Uwu ni wo mushinge Salomo yashizeho ku bwo kwubaka inzu y’Imana y’ukuri: uburebure bwayo mu matambwe hisunzwe ingero ya kera bwari amatambwe* mirongo itandatu, ubwaguke na bwo amatambwe mirongo ibiri+. 4 Ibaraza+ ryari imbere y’iyo nzu, imbere y’ubwaguke bwayo, ryari rifise amatambwe mirongo ibiri, amahagarara yaryo na yo akaba amatambwe ijana na mirongo ibiri; nuko indani ayihomekako inzahabu itavanze. 5 Inzu nkuru+ na yo ayihomekako imbaho z’umuberoshi, hanyuma ayihomekako inzahabu nziza+, araheza ayishirako amashusho y’ibigazi+ n’iminyororo+. 6 Vyongeye, ahomeka kuri nya nzu amabuye y’agaciro kugira ngo ibe nziza+; kandi iyo nzahabu+ yari inzahabu yavuye mu gihugu c’inzahabu. 7 Abandanya guhomeka inzahabu+ kuri nya nzu, ku bigiga, ku minjiriro, ku mpome zayo no ku miryango yayo; asarura abakerubi* kuri nya mpome+.

8 Nuko akora inzu y’Aheranda Rwose*+: uburebure bwayo, ubwari buhuye n’ubwaguke bwa ya nzu, bwari amatambwe mirongo ibiri, ubwaguke bwayo na bwo bukaba amatambwe mirongo ibiri+; hanyuma ayomekako inzahabu nziza ingana n’italanto amajana atandatu. 9 Uburemere bw’imisumari+ bwari shekeli mirongo itanu z’inzahabu; ivyumba vyo hejuru avyomekako inzahabu.

10 Hanyuma akora muri nya nzu y’Aheranda Rwose abakerubi babiri+ mu buhinga bwo guhingura ibishusho, maze abakuyengezako inzahabu+. 11 Ku bijanye n’amababa y’abo bakerubi+, uburebure bwayo bwari amatambwe mirongo ibiri: rimwe muri nya mababa, iryareha n’amatambwe atanu, ryakora ku ruhome rwa nya nzu, irindi baba na ryo, iryareha n’amatambwe atanu, rigakora kw’ibaba ry’uwundi mukerubi+. 12 Ibaba ry’umwe muri abo bakerubi, iryareha n’amatambwe atanu, ryakora ku ruhome rwa nya nzu, irindi baba na ryo, iryareha n’amatambwe atanu, rigakoranako n’ibaba ry’uwundi mukerubi+. 13 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje ahareha n’amatambwe mirongo ibiri; bari bahagaze ku birenge vyabo, mu maso habo haraba imbere.

14 Vyongeye akora irido+ y’inyuzi z’ubururu+ n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’ibara ry’umutukutuku rihinze n’igitambara ciza, araheza ayijishako abakerubi+.

15 Hanyuma akora inkingi zibiri imbere ya nya nzu+ zifise uburebure bw’amatambwe mirongo itatu n’atanu; umutwe w’inkingi+ wari hejuru kuri imwimwe yose wari ufise amatambwe atanu. 16 Vyongeye, akora iminyororo+ imeze nk’urunigi araheza ayishira hejuru kuri izo nkingi, akora n’amakomamanga+ ijana maze ayashira kuri iyo minyororo. 17 Nuko ahagarika nya nkingi imbere y’urusengero, imwe iburyo iyindi ibubamfu, hanyuma iy’iburyo ayita Yakini*, iy’ibubamfu na yo ayita Bowazi*+.

4 Maze akora igicaniro c’umujumpu+ gifise uburebure bw’amatambwe* mirongo ibiri, n’ubwaguke bw’amatambwe mirongo ibiri, n’amahagarara y’amatambwe cumi+.

2 Hanyuma atangura gukora ikiyaga gishongeshejwe+ cangana n’amatambwe cumi kuva ku mbiga yaco imwe gushika ku yindi mbiga, kikaba cari umuzingi irya n’ino; amahagarara yaco yari amatambwe atanu; kugikikuza cose vyasaba ikamba y’amatambwe mirongo itatu+. 3 Munsi yaco, ku nkikuro yose, hari udusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga+ twari tugikikuje, cumicumi mw’itambwe rimwe, tukaba twari dukikuje ico kiyaga irya n’ino+. Utwo dusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga twari mu misitari ibiri, tukaba twari twashongeshanijwe n’ico kiyaga. 4 Cari gihagaze ku mashūri cumi n’abiri+: atatu araba mu buraruko, atatu araba mu burengero, atatu araba mu bumanuko, n’atatu araba mu buseruko; ico kiyaga cari hejuru kuri nya mashūri, kandi inyuma hayo hose haraba indani+. 5 Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza; imbiga yaco na yo yari ihinguwe nk’imbiga y’igikombe, nk’ishurwe ry’ilisi+. Cari ikintu cashobora kujamwo+ ingero za bati ibihumbi bitatu+.

6 Vyongeye, akora amabesani cumi, hanyuma ashira atanu iburyo n’atanu ibubamfu+, kugira ngo bayogerezemwo+. Ibintu bijanye n’ishikanwa riturirwa+ bavyogereza muri yo. Mugabo nya kiyaga cari ico abaherezi biyozamwo+.

7 Maze akora ibitereko vy’amatara+ vy’inzahabu; abikora ari cumi yisunze umugero umwe+, araheza abishira mu rusengero, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+.

8 Vyongeye, akora imeza cumi, azishira mu rusengero, zitanu iburyo na zitanu ibubamfu+, hanyuma akora amabakure ijana y’inzahabu.

9 Hanyuma akora ikigo+ c’abaherezi+ n’urugo runini+ n’imiryango ya nya rugo; imiryango yavyo ayihomekako umujumpu. 10 Nya kiyaga na co agishira ku ruhande rw’iburyo, mu buseruko, amaja mu bumanuko+.

11 Amaherezo Hiramu akora ibigopo+ n’ibiyozo+ n’amabakure+.

Gutyo Hiramu arangiza gukora igikorwa yakoreye Umwami Salomo ku nzu y’Imana y’ukuri. 12 Za nkingi zibiri+ na ya mitwe y’inkingi+ yibumvye yari hejuru kuri izo nkingi zibiri, na za nsenga+ zibiri zo gupfuka nya mitwe y’inkingi yibumvye yari hejuru kuri izo nkingi, 13 na ya makomamanga+ amajana ane ku bwa za nsenga zibiri, imisitari ibiri y’amakomamanga ku bw’urusenga rumwerumwe rwose, vyo gupfuka nya mitwe y’inkingi ibiri yibumvye yari kuri nya nkingi+; 14 ya mashareti+ cumi na ya mabesani+ cumi yari kuri ayo mashareti; 15 ca kiyaga+ kimwe rudende na ya mashūri cumi n’abiri yari munsi yaco+, 16 vya bigopo na vya biyozo+ na ya makanya+ n’ibikoresho+ vyavyo vyose, Hiramu-abivu+ abikorera Umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova, mu mujumpu usenye. 17 Mu Ntara ya Yorodani ni ho umwami yabishongeshereje mu butaka bw’ibumba, hagati ya Sukoti+ na Zereda+. 18 Ukwo ni ko Salomo yakoze ivyo bikoresho vyose ari vyinshi cane, kuko uburemere bw’umujumpu butasuzumwa+.

19 Nuko Salomo akora ibikoresho+ vyose vyari mu nzu y’Imana y’ukuri n’igicaniro c’inzahabu+ n’imeza+ zajako imikate yerekanwa*, 20 n’ibitereko vy’amatara+ be n’amatara+ yavyo vyo mu nzahabu itavanze, kugira ngo yakirizwe imbere y’icumba c’ahitereye+, hisunzwe ingingo ivyerekeye; 21 n’amashurwe n’amatara n’udupensi+, mu nzahabu, (yari inzahabu itavanze na gatoyi,) 22 n’ibizimisho n’amabakure n’ibikombe n’ibijamwo umuriro, mu nzahabu itavanze+, n’ubwinjiriro bw’inzu+, imiryango yayo y’indani ku bw’Aheranda Rwose n’imiryango+ y’inzu y’urusengero, mu nzahabu.

5 Amaherezo igikorwa cose Salomo yabwirizwa gukora ku bw’inzu ya Yehova kirarangira+, nuko Salomo atangura kwinjiza ibintu Dawidi se wiwe yagize vyeranda+; ifeza n’inzahabu be n’ibikoresho vyose abishira mu matunga y’inzu y’Imana y’ukuri+. 2 Ico gihe ni ho Salomo yatangura gukoranya abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ n’abakuru b’imiryango bose+, abakuru b’amazu ya ba sekuru+ ya bene Isirayeli, abakoraniriza i Yeruzalemu, kugira ngo badugane isandugu+ y’isezerano rya Yehova bayikuye+ mu Gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+. 3 Nuko abagabo ba Isirayeli bose bakoranira ku mwami mu gihe c’umusi mukuru, uw’ukwezi kugira indwi+.

4 Nuko abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bose baraza+, hanyuma Abalewi batangura kurerura ya Sandugu+. 5 Badugana iyo Sandugu+ n’ihema ry’ihuriro+ n’ibikoresho vyeranda vyose+ vyari muri nya hema. Abaherezi, Abalewi, barabidugana+. 6 Kandi Umwami Salomo n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bubahirije isango bari bahanye na we imbere ya nya Sandugu, bariko bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidashobora guharurwa canke kumenyekana igitigiri kubera ubwinshi. 7 Maze abaherezi binjiza isandugu y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo, mu cumba c’ahitereye+ ca ya nzu, Aheranda Rwose+, munsi y’amababa ya ba bakerubi+. 8 Gutyo abo bakerubi bama bashanje amababa yabo hejuru y’ikibanza c’iyo Sandugu, ku buryo abo bakerubi bari bapfukiye hejuru+ nya Sandugu n’iminiho yayo+. 9 Mugabo iyo miniho yari miremire, ku buryo imitwe yayo yabonwa n’uwuri Aheranda* imbere y’icumba c’ahitereye, mugabo ntiyabonwa n’uwuri hanze, kandi iyo miniho ni ho ikiri gushika n’uyu musi+. 10 Nta kintu na kimwe cari muri iyo Sandugu kiretse vya bisate bibiri vy’amabuye+ Musa yari yarashizemwo i Horebu+, ca gihe Yehova yasezerana+ na bene Isirayeli hamwe bariko bava mu Misiri+.

11 Nuko abaherezi basohotse bavuye ahantu heranda (kuko abaherezi bose bariho bari biyejeje+—ntivyari bikenewe ko bubahiriza ivy’imice+); 12 kandi Abalewi+ bari abaririmvyi begukira bano bose, ni ukuvuga begukira Asafu+ na Hemani+ na Yedutuni+ be n’abahungu babo na bene wabo, abari bambaye ibitambara vyiza bakagira n’ivyuma bisāma+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+, bari bahagaze mu buseruko bw’igicaniro bari kumwe n’abaherezi bangana n’ijana na mirongo ibiri bavuza inzumbete+; 13 nuko abavuza inzumbete n’abaririmvyi, bakimara kuba nk’umuntu umwe+, mu gutuma humvikana ijwi rimwe mu gushemeza no gukengurukira Yehova, vyongeye bakimara kwumvikanisha ijwi bakoresheje inzumbete n’ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’ururirimbo+, bagashemeza+ Yehova, “kuko ari mwiza+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+ ari ubwo gushika igihe kitagira urugero,” nya nzu ica yuzura igicu+, egome, nya nzu ya Yehova+, 14 maze abaherezi ntibashobora guhagarara ngo bakore igikorwa kubera ico gicu+; kuko ubuninahazwa+ bwa Yehova bwari bwuzuye inzu y’Imana y’ukuri.

6 Ico gihe ni ho Salomo yavuga+ ati: “Yehova ubwiwe yavuze ko yobaye mu muzimagiza w’umuzitanya+; 2 nanje nakwubakiye inzu y’uburaro buhanitse+ n’ahantu hashimangiye kugira ngo uhabe gushika igihe kitagira urugero+.”

3 Maze umwami arahindukira, atangura guhezagira+ ishengero rya Isirayeli ryose, mu gihe iryo shengero rya Isirayeli ryose ryari rihagaze+. 4 Hanyuma avuga ati: “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, we yavuganye na Dawidi dawe akoresheje akanwa kiwe+, kandi agashitsa n’amaboko yiwe+, mu kuvuga ati: 5 ‘Kuva umusi nakura abantu banje mu gihugu ca Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ku bwo kwubaka inzu kugira ngo izina ryanje ribeyo+, kandi nta muntu natoye ngo abe indongozi y’abantu banje Isirayeli+. 6 Mugabo nzotora Yeruzalemu+ kugira ngo izina ryanje ribeyo, kandi nzotora Dawidi kugira ngo aganze abantu banje Isirayeli+.’ 7 Nuko Dawidi dawe agira icipfuzo mu mutima wiwe co kwubakira inzu izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+. 8 Mugabo Yehova abwira Dawidi dawe ati: ‘Ko wagize icipfuzo mu mutima wawe co kwubakira inzu izina ryanje, wagize neza, kubera ko ivyo vyari ku mutima wawe+. 9 Gusa wewe si we uzokwubaka iyo nzu+, ahubwo umuhungu wawe azova muri wewe ni we azokwubakira inzu izina ryanje+.’ 10 Nuko Yehova atangura gushitsa ijambo ryiwe+ yari yaravuze, kugira ngo mpaguruke mu kibanza ca Dawidi dawe+ maze nicare ku ntebe y’ubwami+ ya Isirayeli, nk’uko Yehova yari yaravuze+, no kugira ngo nubakire inzu izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+, 11 no kugira ngo ndahashire Isandugu+ irimwo isezerano rya Yehova, iryo yagiranye na bene Isirayeli+.”

12 Nuko Salomo ahagarara imbere y’igicaniro ca Yehova, imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose+, hanyuma agaranzura ibiganza+. 13 (Kuko Salomo yari yarakoze umukiruruko+ w’umujumpu, akawushira hagati na hagati mu rugo+. Uburebure bwawo bwari amatambwe atanu, ubwaguke bwawo amatambwe atanu, amahagarara yawo na yo akaba amatambwe atatu; yari awuhagazeko.) Apfukama+ rero imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose, hanyuma agaranzura ibiganza avyerekeje mu majuru+. 14 Maze avuga ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, nta Mana iriho imeze nkawe+ mu majuru canke kw’isi, wewe ugumya isezerano+ n’ubuntu bwuzuye urukundo ku bijanye n’abasavyi bawe bagendera imbere yawe n’umutima wabo wose+; 15 wewe wagumije ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye+, ku buryo utanga umuhango n’akanwa kawe, ugashitsa n’ukuboko kwawe nk’uko biri uyu musi+. 16 None rero, ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nugumye ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye uti: ‘Imbere yanje ntihazobura umugabo wo mu bawe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, abahungu bawe nibakira gusa+ kwitwararika inzira yabo mu kugendera mw’itegeko ryanje+, nk’uko wagendeye imbere yanje+.’ 17 None rero, ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, umuhango+ wahaye umusavyi wawe Dawidi uboneke ko ari uwo kwizigirwa+.

18 “Ariko none, Imana izobana vy’ukuri n’abantu kw’isi+? Ehe ijuru, egome, ijuru ry’amajuru ubwayo ntirishobora kugukwira+; nkanswe rero iyi nzu nubatse+! 19 Mugabo nushire umutima kw’isengesho ry’umusavyi wawe+ n’ugusaba ubutoni kwiwe+, ewe Yehova Mana yanje, mu kwumviriza akamo k’ukwinginga+ n’isengesho umusavyi wawe ariko atura imbere yawe+, 20 kugira ngo ugumize amaso yawe+ kuri iyi nzu umurango n’ijoro, aha hantu wavuze ko woshize izina ryawe+, mu kwumviriza isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu+. 21 Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe+ n’ukw’abantu bawe Isirayeli nibasenga berekeje aha hantu+, kugira ngo wewe ubwawe wumve uri ahantu uba, uri mu majuru+; uze wumve maze ubabarire+.

22 “Umuntu niyacumura kuri mugenziwe+, maze uno agashira umuvumo kuri we kugira ngo atume aba uwushobora gushikirwa na nya muvumo+, hanyuma akaza ari muri nya muvumo imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu+, 23 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru+, maze ugire ico ukoze+, ucire urubanza abasavyi bawe kugira ngo usubirize mu nkoko umubisha, mu gushira ibikorwa vyiwe ku mutwe wiwe+, no mu kuvuga ko umugororotsi agororotse+ mu kumuha nk’uko ubugororotsi bwiwe bwite buri+.

24 “Abantu bawe Isirayeli nibatsindwa imbere y’umwansi+ kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bakagaruka koko+, bagahaya izina ryawe+, bagasenga+ kandi bagasaba ubutoni imbere yawe muri iyi nzu+, 25 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru+, maze ubabarire+ igicumuro c’abantu bawe Isirayeli, ubagarukane+ ku butaka wabahaye, bo na ba sekuruza babo+.

26 “Amajuru niyugarwa ku buryo hataboneka imvura+ kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga koko berekeje aha hantu+, bagahaya izina ryawe kandi bagahindukira bakava mu gicumuro cabo, kuko uzoba wagumye ubateza amarushwa+, 27 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ubabarire igicumuro c’abasavyi bawe, egome, c’abantu bawe Isirayeli, kuko ubigisha+ ivyerekeye inzira nziza+ bakwiye kugenderamwo; kandi uze utange imvura+ ku gihugu cawe wahaye abantu bawe ngo kibabere intoranwa+.

28 “Nihatera ikigoyi+ mu gihugu, nihatera ikiza+, nihatera ukubabuka kw’ibirimwa+ n’ururyi+, inzige+ n’inyenzi+; abansi babo+ nibabugariza mu gihugu c’amarembo yabo+—ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’icago n’ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’indwara+— 29 isengesho iryo ari ryo ryose+, ugusaba ubutoni ukwo ari kwo kwose+ kuzoba kuvuye ku muntu uwo ari we wese canke ku bantu bawe Isirayeli bose+, kuko umwumwe wese azoba azi icago ciwe+ n’ububabare bwiwe; niyagaranzura koko ibiganza vyiwe avyerekeje kuri iyi nzu+, 30 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, ahantu uba+, maze ubabarire+ kandi uhe umwumwe wese nk’uko inzira ziwe zose ziri+, kuko uzi umutima wiwe+ (kubera ko ari wewe wenyene uzi umutima w’abana b’abantu+); 31 kugira ngo bagutinye+ mu kugendera mu nzira zawe imisi yose bazoba ari bazima ku buringanire bw’ubutaka wahaye ba sogokuruza bacu+.

32 “Kandi n’umunyamahanga, atari uwo mu bantu bawe Isirayeli+, azoza koko avuye mu gihugu ca kure kubera izina ryawe rihambaye+ n’ikiganza cawe gikomeye+ be n’ukuboko kwawe kuramvuye+, akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu+, 33 wewe ubwawe uze rero wumvirize uri mu majuru, uri ahantu hashimangiye uba+, maze ukore wisunze ivyo uwo munyamahanga azoba aguhamagariye vyose+; kugira ngo ibisata vyo kw’isi vyose bimenye izina ryawe+ kandi bigutinye+, nk’uko igisata cawe Isirayeli kigutinya, kandi bimenye yuko izina ryawe ryambarijwe kuri iyi nzu nubatse+.

34 “Abantu bawe nibasohoka bakaja mu ntambara+ kurwanya abansi babo mu nzira uzobarungikamwo+, maze bakagusenga vy’ukuri+ berekeje kuri iki gisagara watoye no kuri iyi nzu nubakiye izina ryawe+, 35 uze rero wumve uri mu majuru isengesho ryabo n’ugusaba ubutoni kwabo+, maze ushitse urubanza ku bwabo+.

36 “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu ca kure canke ca hafi+; 37 maze bakagarura koko ubwenge mu gihugu bazoba batwawemwo ari imbohe, hanyuma bakagaruka koko kuri wewe, bakagusaba ubutoni mu gihugu bazoba barimwo ari imbohe+, mu kuvuga bati: ‘Twaracumuye+, twarahuvye+ kandi twakoze ivy’ububisha+’; 38 bakagaruka koko kuri wewe n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose mu gihugu c’ababatwaye ari imbohe+, ico bazoba barimwo ari imbohe, maze bagasenga koko berekeje mu gihugu cabo wahaye ba sekuruza babo n’igisagara watoye+ n’iyi nzu nubakiye izina ryawe+; 39 uze rero wumve uri mu majuru, uri ahantu hashimangiye uba+, isengesho ryabo n’ugusaba ubutoni kwabo+, maze ushitse urubanza+ ku bwabo wongere ubabarire+ abantu bawe bazoba bagucumuyeko.

40 “Ubu rero, ewe Mana yanje, ndakwinginze amaso yawe+ abe ayuguruye, n’amatwi yawe+ abe ayumviriza isengesho rijanye n’aha hantu. 41 None rero nuhaguruke+, ewe Yehova Mana, kugira ngo winjire mu karuhuko kawe+, wewe n’Isandugu y’inkomezi zawe+. Abaherezi bawe, ewe Yehova Mana, nibambare ubukiriro, kandi intahemuka zawe zinezererwe ineza+. 42 Ewe Yehova Mana, ntiwamirire kure mu maso h’uwo warobanuje amavuta*+. Ese wokwibuka ubuntu bwuzuye urukundo wagiriye Dawidi umusavyi wawe+!”

7 Nuko Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mu majuru+, utangura kuyigiza ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi, ubuninahazwa bwa Yehova+ na bwo bwuzura iyo nzu. 2 Abaherezi ntibashobora kwinjira muri nya nzu ya Yehova+ kuko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova. 3 Kandi bene Isirayeli bose bariko baritegereza igihe umuriro wamanuka n’ubuninahazwa bwa Yehova bukaba kuri iyo nzu; baca barunama+ mu maso habo hashika hasi kw’isaso, bakubita inkoro hasi+ maze bakengurukira Yehova, “kuko ari mwiza+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”

4 Kandi umwami n’abantu bose bariko bashikana ikimazi imbere ya Yehova+. 5 Umwami Salomo abandanya gushikana ikimazi c’inka ibihumbi mirongo ibiri na bibiri, n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri+. Gutyo umwami n’abantu bose binjira+ inzu y’Imana y’ukuri. 6 Abaherezi+ bari bahagaze mu bibanza vyabo vy’igikorwa, n’Abalewi+ nyene bafise ibicurarangisho vyo kuririmbira+ Yehova, ivyo Dawidi+ umwami yari yarakoze ku bwo gukengurukira Yehova, “kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero,” igihe Dawidi yaba ariko aramushemeza biciye ku kuboko kwabo; kandi abaherezi bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga+ imbere yabo, Abisirayeli bose na bo bahagaze.

7 Maze Salomo yeza+ igice co hagati c’ikigo cari imbere y’inzu ya Yehova, kubera ko aho ari ho yatangiye amashikanwa aturirwa+ be n’ibikenye binuze vy’ibimazi vy’ugusangira, kuko igicaniro c’umujumpu+ Salomo yari yarakoze kitashobora gukwiramwo iryo shikanwa riturirwa be n’ishikanwa ry’intete+ n’ivyo bikenye binuze+. 8 Nuko ico gihe Salomo agira umusi mukuru+ imisi indwi, ari kumwe na Isirayeli yose+, ishengero rinini cane+, kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku mwonga wa Misiri+. 9 Mugabo ku musi ugira umunani bagira ikoraniro ry’agakūra+, kuko ishikirizwa rya nya gicaniro bari barihimbaje imisi indwi, nya musi mukuru na wo imisi indwi. 10 Ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kugira indwi, arungika abantu i muhira iwabo, banezerewe+ kandi baryohewe mu mutima kubera ineza+ Yehova yari yaragiriye Dawidi na Salomo na Isirayeli abantu biwe+.

11 Gutyo Salomo arangiza inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+; kandi mu kintu cose Salomo yari yariyumviriye mu mutima wiwe gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova be n’inzu yiwe, araroranirwa. 12 Nuko Yehova abonekera+ Salomo mw’ijoro, amubwira ati: “Numvise isengesho ryawe+, kandi nitoreye+ aha hantu ngo habe inzu y’ibimazi+. 13 Ninugara amajuru kugira ntihaboneke imvura+, ninategeka ibihori kurigata igihugu+, ninarungika ikiza mu bantu banje+, 14 maze abantu banje+ bitiriwe izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga+, bakarondera mu maso hanje+ bagahindukira bakava mu nzira zabo mbi+, nzokwumva rero ndi mu majuru+, mbabarire igicumuro cabo+, nkize igihugu cabo+. 15 Ubu rero amaso yanje+ azoba ayuguruye, n’amatwi yanje+ abe ayumviriza isengesho risengewe aha hantu. 16 Ubu ntoye+ koko iyi nzu kandi ndayejeje, kugira ngo izina ryanje+ rihabe gushika igihe kitagira urugero+, kandi amaso yanje n’umutima wanje bizokwama ari ho biri+.

17 “Nawe niwagendera imbere yanje, nk’uko Dawidi+ so yagenze, egome, mu gukora wisunze ivyo nagutegetse vyose+, ukongera ukagumya ingingo nyobozi zanje+ n’ingingo zanje z’ubutungane*+, 18 nanje rero nzoshinga intebe y’ubwami y’ingoma yawe+, nk’uko nasezeranye na Dawidi so+, nti: ‘Ntihazobura umugabo mu bawe wo kuganza Isirayeli+.’ 19 Mugabo mwebwe ubwanyu nimwasubira inyuma+, mugata koko ivyagezwe vyanje+ n’amabwirizwa yanje+ nashize imbere yanyu, hanyuma mukagenda vy’ukuri mugakorera izindi mana+, mukazunamira+, 20 nzobarandura rero ku butaka bwanje nabahaye+; kandi iyi nzu nereje+ izina ryanje nzoyita imve mu maso+, ndayigire iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose+. 21 Nayo iyi nzu, iyizoba yacitse ibirundo vy’ibihomvagurike+, uwuzoyica iruhande wese azoraba yumiwe+, avuge ata kabuza ati: ‘Ni kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gihugu n’iyi nzu+?’ 22 Maze bazovuga ata kabuza bati: ‘Ni kubera ko bahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bagatangura kwifatanya n’izindi mana+, bakazunamira bakazikorera+. Ni co catumye abazanako ibi vyago vyose+.’”

8 Nuko hashize imyaka mirongo ibiri+, iyo Salomo yari yarubatsemwo inzu ya Yehova+ n’inzu yiwe+, 2 Salomo asubira kwubaka ibisagara Hiramu+ yari yaramuhaye, maze atuma bene Isirayeli babibamwo. 3 Vyongeye, Salomo aja i Hamati-zoba, arahanesha. 4 Maze asubira kwubaka Tadumori mu gahinga be n’ibisagara vy’ububiko vyose+ yari yarubatse i Hamati+. 5 Yubaka kandi Beti-horoni yo Haruguru+ na Beti-horoni yo Hepfo+, ibisagara bikingijwe ibihome+, imiryango n’ibihindizo+, 6 na Bayalati+ n’ibisagara vy’ububiko vyose vyari vyaracitse ivya Salomo, n’ibisagara vy’imikogote vyose+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi+ n’ibintu vyose bihimbaye vya Salomo+, ivyo yari yaripfuje kwubaka i Yeruzalemu n’i Libani+ no mu gihugu cose yaganza.

7 Nayo abantu bose bari basigaye ku Baheti+ no ku Bamori+ no ku Baperizi+ no ku Bahiwi+ no ku Bayebusi+, abatari abo muri Isirayeli+, 8 mu bahungu babo bari barasigaye inyuma yabo mu gihugu, abo bene Isirayeli batari baratikije+, ni ho Salomo yagumye akura+ abo gukoresha ibikorwa vy’agahato, gushika n’uyu musi+. 9 Mugabo nta n’umwe muri bene Isirayeli Salomo yagize umushumba wo gukora igikorwa ciwe+; kuko bari abarwanyi+, n’abakuru b’ibisongerezi vyiwe, n’abakuru b’abatwara imikogote biwe+ n’ab’abagendera ku mafarasi biwe+. 10 Aba ni bo bari abakuru b’ivyariho+ begukira Umwami Salomo: abantu amajana abiri na mirongo itanu, bakaba bari abahagarikizi b’abantu+.

11 Kandi umukobwa wa Farawo+, Salomo amukura mu Gisagara ca Dawidi+ amudugana ku nzu yari yaramwubakiye+, kuko yavuze ati: “Naho ari umugore wanje, ntakwiye kuba mu nzu ya Dawidi umwami wa Isirayeli, kuko ibibanza isandugu ya Yehova yashitsemwo ari ikintu ceranda+.”

12 Ico gihe ni ho Salomo yashikanira Yehova ibimazi biturirwa+, abishikana ku gicaniro+ ca Yehova yari yarubatse imbere y’ibaraza+, 13 egome, nk’uko vyabwirizwa kugirwa ku musi ku musi+, kugira ngo hashikanwe amashikanwa hisunzwe ibwirizwa rya Musa rijanye n’amasabato+ n’imboneko z’ukwezi+ n’imisi mikuru yashinzwe+, gatatu mu mwaka+: ku musi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+, ku musi mukuru w’amayinga+ no ku musi mukuru w’insago+. 14 Vyongeye, ashira imice+ y’abaherezi ku bikorwa vyabo, yisunze ingingo ya Dawidi se+, n’Abalewi+ mu bibanza vyabo vy’igikorwa, kugira ngo bashemeze Imana+ bongere bakorere+ imbere y’abaherezi, nk’uko vyabwirizwa kugirwa ku musi ku musi+, ashira n’abarinzi b’amarembo mu mice yabo ku bwo kurinda amarembo atandukanye+, kuko iryo ryari ryo bwirizwa rya Dawidi umuntu w’Imana y’ukuri. 15 Ntibakevya ngo bave kw’ibwirizwa ry’umwami ryahawe abaherezi n’Abalewi ku vyerekeye ikintu ico ari co cose no ku vyerekeye ibigega+. 16 Nuko igikorwa ca Salomo cose kiratungana+, kuva umusi wo gushinga umushinge w’inzu ya Yehova gushika iheze+. Gutyo inzu ya Yehova irarangira+.

17 Ico gihe ni ho Salomo yaja i Eziyoni-geberi+ n’i Eloti+, ku nkengera y’ikiyaga, mu gihugu ca Edomu+. 18 Kandi Hiramu+ yama amurungikira biciye ku basuku biwe imeri n’abasuku bazi ikiyaga+, bakajana n’abasuku ba Salomo i Ofiri+ hanyuma bagakurayo italanto+ amajana ane na mirongo itanu z’inzahabu+, bakazizanira Umwami Salomo+.

9 Nuko umwamikazi wa Sheba+ yumva inkuru yerekeye Salomo, maze aza i Yeruzalemu kugeza Salomo n’ibibazo bigoye+, ari kumwe n’umurongo w’akumiza rwose umuherekeje n’ingamiya+ zitwaye amavuta y’umusomozo*+, n’inzahabu+ nyinshi, n’amabuye y’agaciro+. Amaherezo yinjira kwa Salomo maze avugana na we ibijanye n’ikintu cose cari kimuri ku mutima+. 2 Salomo na we amwishura ibibazo vyiwe vyose+, ntihagira ikibazo na kimwe kinanira Salomo ngo ntakimwishure+.

3 Umwamikazi wa Sheba abonye ubukerebutsi bwa Salomo+ n’inzu yari yarubatse+, 4 n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abasuku biwe bari bicaye, n’igikorwa co ku meza c’abaserevyi biwe n’inyambaro yabo+, n’igikorwa c’abantu biwe basereva ibinyobwa+ n’inyambaro yabo, n’ibimazi biturirwa vyiwe+ yama ashikana ku nzu ya Yehova+, aca arajorerwa*. 5 Nuko abwira umwami ati: “Ijambo numvise mu gihugu canje ku vyawe no ku bukerebutsi bwawe, ryari iry’ukuri+. 6 Sinemeye+ amajambo yabo gushika nje kugira ngo amaso yanje bwite avyibonere+; none ehe nsanze ata n’ica kabiri c’ubwinshi bw’ubukerebutsi bwawe bambwiye+. Wararenganye inkuru numvise+. 7 Hahiriwe+ abantu bawe, kandi hahiriwe aba basuku bawe bama bahagarara imbere yawe, bumviriza ubukerebutsi bwawe+. 8 Yehova Imana yawe ahezagirwe+, we yahimbawe+ nawe mu kugushira ku ntebe y’ubwami yiwe+ ngo ube umwami, utwarire Yehova Imana yawe+; kuko Imana yawe yakunze+ Isirayeli, kugira ngo itume Isirayeli igumaho gushika igihe kitagira urugero, ku buryo yagushize kuri bo ngo ube umwami+ kugira ushitse ingingo y’ubutungane+ be n’ubugororotsi+.”

9 Maze aha umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu+, n’amavuta y’umusomozo+ menshi cane, n’amabuye y’agaciro+; ntihari bwaboneke amavuta y’umusomozo nk’ayo umwamikazi wa Sheba yahaye Umwami Salomo+.

10 Bisubiye, abasuku ba Hiramu+ n’abasuku ba Salomo bazanye inzahabu+ bazikuye i Ofiri, bazana n’ibiti vya alugumu+ n’amabuye y’agaciro+. 11 Umwami atangura gukora muri ivyo biti vya alugumu ingazi+ z’inzu ya Yehova n’iz’inzu y’umwami+, n’inanga+ be n’ibicurarangisho vy’imirya+ vy’abaririmvyi+; ntihari bwigere haboneka ibimeze nka vyo mu gihugu ca Yuda.

12 Umwami Salomo na we aha umwamikazi+ wa Sheba ivyamuhimbara vyose yari yasavye, hampande y’ibinganya agaciro n’ivyo yari yazaniye umwami. Nuko arahindukira, aja mu gihugu ciwe, we hamwe n’abasuku biwe+.

13 Uburemere bw’inzahabu zaza kwa Salomo mu mwaka umwe bwangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu+, 14 uretse ivyazanwa n’abagabo b’ingenzi n’abacuruza+, n’ivyava ku bami bose b’Abarabu+ no kuri ba buramatari b’igihugu, abazanira Salomo inzahabu n’ifeza.

15 Umwami Salomo akora inkinzo zagutse amajana abiri mu nzahabu ivanze+ (imwimwe yose muri izo nkinzo zagutse ayishirako shekeli amajana atandatu z’inzahabu ivanze+), 16 akora n’udukinzo amajana atatu mu nzahabu ivanze (agakinzo kamwekamwe kose agashirako imina zitatu z’inzahabu+). Maze umwami abishira muri ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+.

17 Vyongeye, umwami akora intebe y’ubwami y’amasenge ihambaye, ayihomekako inzahabu itavanze+. 18 Hariho ingazi zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, hakabaho n’intebe y’ibirenge yo mu nzahabu kuri iyo ntebe y’ubwami (vyari bifatanye), hakabaho n’aho gushira amaboko hino no hirya iruhande y’aho kwicara, hakaba n’intambwe+ zibiri iruhande y’aho hantu ho gushira amaboko+. 19 Kandi hariho intambwe+ cumi na zibiri zari ng’aho kuri nya ngazi zitandatu, irya n’ino. Nta bundi bwami bwari bufise intebe y’ubwami ikozwe nka yo+. 20 Ivyombo vyo kunyweramwo vyose+ vy’Umwami Salomo vyari ivyo mu nzahabu+, kandi ivyombo vyose vya ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+ vyari ivyo mu nzahabu itavanze. Nta kintu na kimwe co mw’ifeza cariho; ifeza yabonwa nk’ubusa+ mu misi ya Salomo. 21 Kuko imeri z’umwami zaja i Tarushishi+ ziri kumwe n’abasuku ba Hiramu+. Rimwe mu myaka itatu, imeri z’i Tarushishi zaraza, zizanye inzahabu n’ifeza+, amasenge+, n’inkende be n’ibinyoni vyitwa tawusi+.

22 Gutyo Umwami Salomo aba uwuhambaye kuruta abandi bami bose bo kw’isi mu butunzi+ no mu bukerebutsi+. 23 Kandi abami bose bo kw’isi bararondera+ mu maso ha Salomo kugira bumve ubukerebutsi bwiwe+, ubwo Imana y’ukuri yari yarashize mu mutima wiwe+. 24 Barazana umwe wese ingabirano yiwe+: ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu+ n’impuzu+, ibirwanisho n’amavuta y’umusomozo, amafarasi n’inyumpu, ivyo bakabwirizwa kubigira buri mwaka+. 25 Salomo agira impongore ibihumbi bine z’amafarasi+, n’imikogote+, n’amafarasi y’imbangutsi ibihumbi cumi na bibiri, abishira mu bisagara vy’imikogote+ no hafi y’umwami i Yeruzalemu. 26 Nuko aba umutware aganza abami bose kuva kuri rwa Ruzi gushika mu gihugu c’Abafilisitiya no gushika ku rubibe rwa Misiri+. 27 Vyongeye, amafeza umwami ayagira nk’amabuye i Yeruzalemu; ibiti vy’amasederi na vyo abigira nk’ibiti vy’imisukomora+ biri muri Shefela*+, mu bwinshi+. 28 Kandi hariho abazanira amafarasi+ Salomo bayakuye mu Misiri+ no mu bindi bihugu vyose.

29 Nayo ibisigaye mu vya Salomo+, ivya mbere n’ivya nyuma, none ntivyanditswe mu majambo ya Natani+ umuhanuzi no mu buhanuzi bwa Ahiya+ Umunyashilo+ no mu nyandiko y’ivyo Ido+ umubonyi yeretswe ku vyerekeye Yerobowamu+ mwene Nebati+? 30 Salomo aganza Isirayeli yose i Yeruzalemu imyaka mirongo ine. 31 Amaherezo Salomo aryama hamwe na ba sekuruza biwe. Baraheza bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi se wiwe+; Rehobowamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

10 Nuko Rehobowamu+ aja i Shekemu, kuko i Shekemu+ ari ho Abisirayeli bose bari baje kumugirira umwami. 2 Yerobowamu+ mwene Nebati akivyumva, mu gihe yari akiri mu Misiri+ (kuko yari yarahunze kubera Salomo umwami), aca aragaruka avuye mu Misiri+. 3 Batuma rero kumuhamagara, maze Yerobowamu na Isirayeli yose baraza, babwira Rehobowamu+ bati: 4 “So wawe yatumye ingǒgo* yacu iba iyigumye+; none rero nuturemurure igikorwa kigumye ca so wawe n’ingǒgo iremereye+ yadushizeko, natwe tuzogukorera+.”

5 Na we ababwira ati: “Gende mumare iyindi misi itatu, hanyuma mugaruke aho ndi.” Nuko abantu baragenda. 6 Maze Umwami Rehobowamu agisha inama+ abagabo b’inararibonye bahora bakorera Salomo se wiwe akiri muzima, ati: “Muhanuye gute ngo nishure aba bantu+?” 7 Nuko bamubwira bati: “Niwerekana ko uri mwiza kuri aba bantu, ukabahimbara koko kandi ukababwira vy’ukuri amajambo meza+, na bo ntibazobura kuba abasuku bawe nantaryo+.”

8 Ariko areka impanuro+ abagabo b’inararibonye bari bamuhanuye, maze atangura kugisha inama imisore yari yarakuranye na we+ yamukorera+. 9 Ayibwira ati: “Mutanze impanuro nyabaki+ ngo twishure aba bantu bambwiye bati: ‘Nuremurure ingǒgo so wawe yadushizeko+’?” 10 Nuko nya misore yari yarakuranye na we, ivugana na we iti: “Ibi ni vyo uzobwira abantu bakubwiye ngo: ‘So wawe yatumye ingǒgo yacu iremera, mugabo weho, nuyituremurure’; uze ubabwire uti+: ‘Urutoke rwanje rw’uruhererezi ruzoba koko runini kuruta mu mafyinga ha dawe+. 11 Ubu rero, dawe yabaremetse ingǒgo iremereye, mugabo jewe, nzokwongera ku ngǒgo yanyu+. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe, nzokoresha ibishishaguzo+.’”

12 Hanyuma Yerobowamu n’abantu bose baza kuri Rehobowamu ku musi ugira gatatu, nk’uko umwami yari yavuze, ati: “Mugaruke aho ndi ku musi ugira gatatu+.” 13 Nuko umwami abishurana ugukara+. Gutyo Umwami Rehobowamu areka impanuro+ y’abagabo b’inararibonye+, 14 maze ababwira yisunze impanuro ya ya misore+, ati: “Nzotuma ingǒgo yanyu iremera gusumba, kandi jewe, nzoyongerako. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe nzokoresha ibishishaguzo+.” 15 Nuko umwami ntiyumviriza abantu; kuko iryo ryari ihinduka ry’ibintu rivuye ku Mana y’ukuri+, kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe+ yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati+ biciye kuri Ahiya+ Umunyashilo+.

16 Nayo Isirayeli yose, kubera ko umwami atabumvirije, abantu bishura rero umwami bati: “Ni umuturi nyabaki dufise muri Dawidi+? Kandi nta ntoranwa iri muri mwene Yese+. Umwe wese naje ku mana ziwe+, ewe Isirayeli! Ubu rero niwitwararike inzu yawe, ewe Dawidi+!” Isirayeli yose ica yigira ku mahema yayo.

17 Nayo bene Isirayeli baba mu bisagara vya Yuda, Rehobowamu abandanya kubaganza+.

18 Inyuma y’aho, Umwami Rehobowamu arungika Hadoramu+, uwagaba abagenewe ibikorwa vy’agahato, mugabo bene Isirayeli bamutera amabuye+, arapfa. Umwami Rehobowamu we, biramukundira kwurira mu mukogote wiwe kugira ngo ahungire i Yeruzalemu+. 19 Abisirayeli babandanya kugarariza+ inzu ya Dawidi gushika n’uyu musi.

11 Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu+, aca akoranya inzu ya Yuda na Benyamini+, abagabo b’abahizi ibihumbi ijana na mirongo umunani bashoboye intambara+, kugira barwanye Isirayeli, bagarukanire ubwami Rehobowamu. 2 Maze ijambo rya Yehova riza kuri Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri, riti: 3 “Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami wa Yuda+, na Isirayeli yose muri Yuda no muri Benyamini, uti: 4 ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimuduge kurwanya bene wanyu+. Umwe wese nasubire ku nzu yiwe, kuko ico kintu cabaye bivuye kuri jewe+.”’” Nuko bagamburuka ijambo rya Yehova, basubira inyuma bareka kuja gutera Yerobowamu+.

5 Rehobowamu abandanya kuba i Yeruzalemu maze atangura kwubaka muri Yuda ibisagara bikingijwe ibihome. 6 Gutyo asubira kwubaka Betelehemu+ na Etamu+ na Tekowa+, 7 na Beti-zuri+ na Soko+ na Adulamu+, 8 na Gati+ na Maresha+ na Zifu+, 9 na Adorayimu na Lakishi+ na Azeka+, 10 na Zora+ na Ayaloni+ na Heburoni+, ibisagara bikingijwe ibihome vyari muri Yuda no muri Benyamini. 11 Vyongeye, akomeza ibibanza bikingijwe ibihome+ maze abishiramwo indongozi+, n’ibigega vy’ibifungurwa n’amavuta n’umuvinyu, 12 kandi mu bisagara bitandukanye vyose ashirayo inkinzo+ zagutse n’amacumu+; arabikomeza cane rwose. Kandi Yuda na Benyamini biguma ari rwiwe.

13 Abaherezi n’Abalewi bari muri Isirayeli yose baza kumushigikira bavuye mu turere twabo twose. 14 Kuko Abalewi bavuye mu matongo y’uburagiriro yabo+ no mu vyabo+ bakaza muri Yuda n’i Yeruzalemu+, kubera ko Yerobowamu+ n’abahungu biwe bari babakomboye+ kugira ngo ntibakorere Yehova ari abaherezi. 15 Mugabo atangura kwishiriraho abaherezi ku bw’ibibanza bikirurutse+ no ku bw’amadayimoni* asa n’impene+ no ku bw’inyana yari yarakoze+. 16 Nuko bakurikirwa n’abantu bavuye mu miryango yose ya Isirayeli bari bashize umutima wabo ku kurondera Yehova Imana ya Isirayeli; abo bantu baza i Yeruzalemu+ gushikanira ibimazi+ Yehova Imana ya ba sekuruza. 17 Baguma bakomeza ingoma ya Yuda+ bongera bashigikira Rehobowamu mwene Salomo mu kiringo c’imyaka itatu, kuko bagendeye mu nzira ya Dawidi n’iya Salomo mu kiringo c’imyaka itatu+.

18 Maze Rehobowamu yabira Mahalati umukobwa wa Yerimoti mwene Dawidi, nyina akaba yari Abihayili umukobwa wa Eliyabu+ mwene Yese. 19 Mu nyuma amuvyarira abahungu, ari bo Yewushi na Shemariya na Zahamu. 20 Inyuma yiwe, yabira Mayaka+ umwuzukuru wa Abusalomu+. Mu nyuma amuvyarira Abiya+ na Atayi na Ziza na Shelomiti. 21 Rehobowamu akunda Mayaka umwuzukuru wa Abusalomu kuruta uko akunda abandi bagore biwe bose+ n’incoreke ziwe; kuko yari yabiriye abagore cumi n’umunani, be n’incoreke mirongo itandatu, ku buryo avyara abahungu mirongo ibiri n’umunani n’abakobwa mirongo itandatu. 22 Nuko Rehobowamu ashiraho Abiya mwene Mayaka ngo abe umukuru, ngo abe indongozi muri bene wabo, kuko yategekanya kumugira umwami. 23 Ariko akorana ubwenge+, agabanganya bamwe mu bahungu biwe bose mu bihugu vyose vya Yuda n’ivya Benyamini+, mu bisagara vyose bikingijwe ibihome+, abaha ibifungurwa vyinshi+ yongera abaronderera abagore benshi+.

12 Nuko ingoma ya Rehobowamu ikimara gushimangirwa+ na we agakomera, aheba itegeko rya Yehova+, na Isirayeli yose+ yifatanya na we. 2 Maze mu mwaka ugira gatanu w’Umwami Rehobowamu+, Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu (kuko bari bahemukiye Yehova+), 3 ari kumwe n’imikogote+ igihumbi n’amajana abiri n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongo itandatu; abantu bazananye na we bavuye mu Misiri, ni ukuvuga Abanyalibiya+, Abasukiyimu n’Abanyetiyopiya+, ntibaharurika+. 4 Nuko afata ibisagara bikingijwe ibihome vyegukira Yuda+, amaherezo ashika i Yeruzalemu+.

5 Nayo Shemaya+ umuhanuzi, aza kuri Rehobowamu no ku baganwa ba Yuda bari bakoraniye i Yeruzalemu kubera Shishaki, ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Mwebwe mwarampevye+, nanje rero ndabahebeye+ mu kuboko kwa Shishaki.’” 6 Abaganwa ba Isirayeli n’umwami baca bicisha bugufi+, bavuga bati: “Yehova aragororotse+.” 7 Yehova abonye+ ko bicishije bugufi, ijambo rya Yehova riza kuri Shemaya+ riti: “Bicishije bugufi+. Sinzobahonya; mu kanya gatoyi ndabakiza, kandi ubushangashirwe bwanje ntibuzorindimukira kuri Yeruzalemu biciye ku kuboko kwa Shishaki+. 8 Mugabo bazoba abasuku biwe+, kugira ngo bamenye itandukaniro hagati y’igikorwa canje+ n’igikorwa c’ubwami bw’ibihugu+.”

9 Nuko Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu maze atwara amatunga y’inzu ya Yehova+ n’amatunga y’inzu y’umwami+. Atwara ikintu cose; gutyo atwara za nkinzo z’inzahabu Salomo yari yarakoze+. 10 Umwami Rehobowamu akora rero mu kibanza cazo inkinzo z’umujumpu, maze azizeza abakuru b’abirutsi+, abarinzi+ b’ubwinjiriro bw’inzu y’umwami+. 11 Igihe cose umwami yaba aje ku nzu ya Yehova, nya birutsi barinjira, bakazitora bakazijana, mu nyuma bakazisubiza mu cumba c’irindiro c’abirutsi+. 12 Kubera ko yicishije bugufi, ishavu rya Yehova risubira inyuma rimuvako+, ntiyiyumvira ivyo kubahonya buhere+. Bisubiye, haba ibintu vyiza muri Yuda+.

13 Nuko Umwami Rehobowamu abandanya gukomeza ikibanza ciwe i Yeruzalemu, aguma aganza; kuko Rehobowamu+ yari afise imyaka mirongo ine n’umwe igihe yatangura kuganza, amara imyaka cumi n’indwi aganza i Yeruzalemu, igisagara+ Yehova yari yaratoye mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo ahashire izina ryiwe+. Nyina yitwa Nayama+ Umwamonikazi+. 14 Mugabo akora ivyari bibi+, kuko atari yarashimangiye umutima wiwe ngo arondere Yehova+.

15 Nayo ivya Rehobowamu, ivya mbere n’ivya nyuma+, none ntivyanditswe mu majambo ya Shemaya+ umuhanuzi n’aya Ido+ umubonyi hakurikijwe iyandikwa rifatiye ku mamuko? Kandi hama intambara hagati ya Rehobowamu+ na Yerobowamu+ igihe cose. 16 Amaherezo Rehobowamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe+ hanyuma ahambwa mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Abiya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

13 Mu mwaka ugira cumi n’umunani w’Umwami Yerobowamu ni ho Abiya yatangura kuganza Yuda+. 2 Aganza imyaka itatu i Yeruzalemu; nyina yitwa Mikaya+ umukobwa wa Uriyeli w’i Gibeya+. Nuko haba intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu+.

3 Maze Abiya aja mu ntambara ari kumwe n’inteko za gisirikare zigizwe n’abagabo b’abanyenkomezi ibihumbi amajana ane, abagabo b’abarwanyi+ b’abahizi. Nuko Yerobowamu atonda urugamba ngo amurwanye, ari kumwe n’abagabo b’abahizi ibihumbi amajana umunani, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+. 4 Abiya ahagarara rero ku musozi Zemarayimu, uwuri mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, avuga ati: “Nimunyumve, ewe Yerobowamu na Isirayeli yose. 5 Mbega si mwebwe mwari mukwiye kumenya yuko Yehova Imana ya Isirayeli ubwiwe yahaye ubwami Dawidi+ ngo aganze Isirayeli gushika igihe kitagira urugero+, akabuha we n’abahungu biwe+, biciye kw’isezerano ry’umunyu+? 6 Mugabo Yerobowamu+ mwene Nebati, umusuku+ wa Salomo mwene Dawidi, yarahagurutse agarariza+ umukama wiwe+. 7 Maze abagabo batagira ico bakora+, abantu b’imburakimazi+, baguma bakoranira kuri we. Amaherezo banesha Rehobowamu+ mwene Salomo, mu gihe Rehobowamu yari akiri muto kandi afise umutima uhuha+, ntiyahangana na bo.

8 “Ubu na ho mugomba guhangana n’ubwami bwa Yehova buri mu kuboko kwa bene Dawidi+, muri isinzi rinini+ kandi muri kumwe n’inyana z’inzahabu Yerobowamu yabakoreye ngo zibabere imana+. 9 Mbega ntimwirukanye abaherezi ba Yehova+, bene Aroni, n’Abalewi, kandi vyongeye, mbega ntimuguma mwishiriraho abaherezi nk’abantu bo mu bindi bihugu+? Nayo umuntu wese yaje akishira mw’ibango ry’ubuherezi mu gutanga ikimasa be n’impfizi z’intama indwi, yarabaye umuherezi w’ibitari imana+. 10 Tweho, Yehova ni we Mana yacu+, kandi ntitwamuhevye; mugabo abaherezi bene Aroni bariko barakorera Yehova, kandi Abalewi bariko barabafasha igikorwa+. 11 Barafumbishiriza Yehova buri gitondo na buri mugoroba amashikanwa aturirwa+ be n’imibavu imota neza+; kandi imikate igerekeranye iri ku meza y’inzahabu itavanze+, hakabaho n’igitereko c’amatara c’inzahabu+ n’amatara yaco yatswa buri mugoroba+; kuko tuguma dushitsa ivyo Yehova Imana yacu adusaba+, mugabo mwebwe mwaramuhevye+. 12 Kandi ehe turi kumwe n’Imana y’ukuri ikaba ari yo iturongōye+, n’abaherezi+ bayo be n’inzumbete z’ikimenyetso+ ku bwo kwumvikanisha ingabisho y’indwano ngo tubarwanye. Yemwe bene Isirayeli, ntimurwanye Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu+, kuko mutazororanirwa+.”

13 Nuko Yerobowamu arungika abo kubunda ngo bazunguruke babaturuke inyuma, ku buryo ingabo ziwe ziba imbere ya Yuda, nya bantu bo kubunda na bo bakaba inyuma ya Yuda+. 14 Abo muri Yuda ngo bahindukire, baza babona bafise urugamba imbere n’inyuma+. Nuko batangura kuririra Yehova+, abaherezi na bo bakaba bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga. 15 Maze abagabo ba Yuda biha akaruru k’intambara+. Abagabo ba Yuda ngo bihe akaruru k’intambara, Imana y’ukuri ica itsindira+ Yerobowamu na Isirayeli yose imbere ya Abiya+ na Yuda. 16 Nuko bene Isirayeli barahunga bava imbere ya Yuda, maze Imana ibatanga mu kuboko kwabo+. 17 Abiya n’abantu biwe batangura kubasasika n’ugusasika gukomeye; abagandagurwa ba Isirayeli baguma bagwa, hapfa abagabo b’abahizi ibihumbi amajana atanu. 18 Gutyo bene Isirayeli bacishwa bugufi ico gihe, mugabo bene Yuda baranesha kuko bishimikije+ Yehova Imana ya ba sekuruza babo. 19 Abiya aguma yoma inyuma Yerobowamu, amutwara ibisagara, ari vyo Beteli+ n’ibisagara bihakukira, Yeshana n’ibisagara bihakukira, na Efurayini n’ibisagara bihakukira+. 20 Yerobowamu ntiyasigarana inkomezi+ mu misi ya Abiya; mugabo Yehova aramukubita+ ku buryo apfa.

21 Abiya abandanya kwikomeza+. Mu nyuma yiyabirira abagore cumi na bane+, hanyuma avyara abahungu mirongo ibiri na babiri+ n’abakobwa cumi na batandatu. 22 Ibisigaye mu vya Abiya, egome, inzira ziwe n’amajambo yiwe, vyanditswe mu nsobanuro z’umuhanuzi Ido+.

14 Amaherezo Abiya aryama hamwe na ba sekuruza+, hanyuma bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Asa+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. Mu misi yiwe igihugu kimara imyaka cumi ata kigihungabanya+.

2 Maze Asa atangura gukora ivyari vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yiwe. 3 Araheza akuraho ibicaniro vy’ibinyamahanga+ n’ibibanza bikirurutse+, amenagura inkingi nyeranda+ yongera yicira ibikingi vyeranda+. 4 Vyongeye, abwira Yuda kurondera+ Yehova Imana ya ba sekuruza babo no gushitsa itegeko+ n’ibwirizwa+. 5 Nuko akura mu bisagara vyose vya Yuda ibibanza bikirurutse n’ibishirwako imibavu+; maze ubwami buguma ata kibuhungabanya+ imbere yiwe. 6 Hanyuma yubaka muri Yuda ibisagara bikingijwe ibihome+, kuko igihugu kitagira ikigihungabanya; ntihaba intambara yo kumurwanya muri iyo myaka, kuko Yehova yamuhaye akaruhuko+. 7 Nuko abwira Yuda ati: “Twubake ibi bisagara maze tubikikuze impome+ n’iminara+, imiryango igizwe n’inzugi zibirizibiri, n’ibihindizo+. Igihugu kiracari icacu, kuko twarondeye Yehova Imana yacu+. Twaramurondeye, na we aduhaye akaruhuko impande zose+.” Baguma bubaka kandi bararoranirwa+.

8 Nuko Asa agira inteko za gisirikare zitwara inkinzo zagutse+ n’amacumu+, abagabo ibihumbi amajana atatu bo muri Yuda+. Muri Benyamini na ho, abatwara udukinzo bakongera bagafora umuheto+ bari ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani+. Abo bose bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi.

9 Mu nyuma, Zera Umunyetiyopiya+ asohoka kubatera ari kumwe n’inteko za gisirikare umuliyoni+ n’imikogote amajana atatu, hanyuma araza gushika i Maresha+. 10 Nuko Asa asohoka kumurwanya, maze batonda urugamba mu mubande wa Zefata i Maresha. 11 Asa atangura rero kwambaza Yehova Imana yiwe+ ati: “Ewe Yehova, ku bijanye no gutabara, nturaba ngo hari abantu benshi canke ngo hari abadafise inkomezi+. Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije+, kandi mw’izina ryawe+ ni ho tuje kurwanya iri sinzi. Ewe Yehova, uri Imana yacu+. Umuntu buntu* ntakurushe inkomezi+.”

12 Maze Yehova atsindira+ Abanyetiyopiya imbere ya Asa n’imbere ya Yuda, Abanyetiyopiya barata barahunga. 13 Asa n’abantu bari kumwe na we baguma babakurikira gushika i Gerari+, abo mu Banyetiyopiya na bo babandanya kugwa gushika aho ata n’umwe muri bo asigara ari muzima; kuko bamenaguriwe imbere ya Yehova+ n’imbere y’ikambi yiwe+. Mu nyuma batwara isahu ryinshi cane+. 14 Vyongeye, basasika ibisagara vyose vyo mu micungararo ya Gerari, kuko ubwoba+ buvuye kuri Yehova bwari bwabajeko; batangura gusahura ibisagara vyose, kuko muri vyo hari ibintu vyinshi vyo gusahura+. 15 Basasika mbere n’amahema+ y’abafise ibitungwa, ku buryo banyaga+ imikuku myinshi n’ingamiya+, hanyuma basubira i Yeruzalemu.

15 Nayo Azariya mwene Odedi+, impwemu+ y’Imana iza kuri we. 2 Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+. 3 Imisi Isirayeli+ yamaze itagira Imana y’ukuri, itagira umuherezi yigisha+, itagira n’Itegeko, yabaye myinshi. 4 Mugabo igihe bagaruka kuri Yehova Imana ya Isirayeli+ bari mu marushwa+ bakamurondera, yararetse baramuronka+. 5 Muri ivyo bihe nta mahoro yariho ku wasohoka canke ku winjira+, kuko hari imivurungano myinshi mu baba muri ivyo bihugu bose+. 6 Barajanjagurana, ihanga n’irindi hanga+, igisagara n’ikindi gisagara, kuko Imana ubwayo yabagumiza mu muvurungano ikoresheje ubwoko bwose bw’amarushwa+. 7 Ariko mweho, mugire umutima rugabo+ kandi amaboko yanyu ntaregere*+, kuko igikorwa canyu kiri n’impera+.”

8 Asa akimara kwumva ayo majambo n’ubuhanuzi bwa Odedi+ umuhanuzi, agira umutima rugabo maze atangura kuzimanganya ibintu bisesemye+ mu gihugu cose ca Yuda n’ica Benyamini no mu bisagara yari yarafashe mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, asanura n’igicaniro ca Yehova cari imbere y’ibaraza rya Yehova+. 9 Atangura kandi gukoraniriza hamwe Yuda yose na Benyamini yose+ na ba kavamahanga bose+ bari kumwe na bo bavuye muri Efurayimu no muri Manase no muri Simeyoni, kuko bari barataye bakomokera kuri we ari benshi, bavuye muri Isirayeli, igihe babona ko Yehova Imana yiwe yari kumwe na we+. 10 Bakoranirizwa rero i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatatu kw’umwaka ugira cumi na gatanu w’ingoma ya Asa. 11 Maze kuri uwo musi bashikanira Yehova ibimazi bakuye kw’isahu bari barazanye, bashikana inka amajana indwi n’intama ibihumbi indwi. 12 Vyongeye, binjira mw’isezerano+ ryo kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza babo n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+; 13 kugira ngo umuntu wese atorondeye Yehova Imana ya Isirayeli yicwe+, yaba umuto canke uwuhambaye+, yaba umugabo canke umugore+. 14 Nuko barahira+ Yehova n’ijwi rirenga, n’akaruru k’umunezero, bavuza inzumbete n’inzamba. 15 Yuda yose inezerezwa+ n’iyo ndahiro; kuko bari barahiye n’umutima wabo wose kandi bakaba bari bamuronderanye agahimbare kuzuye, ku buryo areka bakamuronka+; Yehova abandanya kubaha akaruhuko impande zose+.

16 Mbere na Mayaka+ inakuru, Asa umwami+ amukura mu kibanza co kuba umugore w’iteka+, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye ishishi agikoreye igikingi ceranda+; maze Asa asitura ico kigirwamana ciwe giteye ishishi+, aragisya araheza agituririra+ mu mwonga Kidironi+. 17 Mugabo ibibanza bikirurutse+ ntivyazimangana muri Isirayeli+. Gusa, umutima wa Asa uba uwukwiye mu misi yiwe yose+. 18 Maze atangura kwinjiza mu nzu y’Imana y’ukuri ibintu se wiwe yari yaragize vyeranda be n’ibintu+ we ubwiwe yari yaragize vyeranda: ifeza n’inzahabu be n’ibikoresho+. 19 Ntihaba intambara gushika ku mwaka ugira mirongo itatu na gatanu w’ingoma ya Asa+.

16 Mu mwaka ugira mirongo itatu na gatandatu w’ingoma ya Asa, Bayasha+ umwami wa Isirayeli aduga gutera Yuda maze atangura kwubaka Rama+, kugira ngo ntakundire umuntu n’umwe gusohoka canke kwinjira kwa Asa umwami wa Yuda+. 2 Nuko Asa asohora ifeza n’inzahabu abikuye mu matungo y’inzu ya Yehova+ no mu y’inzu y’umwami+, abirungikira Beni-hadadi+ umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko+, mu kuvuga ati: 3 “Hariho isezerano hagati yanje nawe no hagati ya dawe na so. Ehe ndakurungikiye ifeza n’inzahabu. Genda urenge kw’isezerano ufitaniye na Bayasha+ umwami wa Isirayeli, kugira ngo ave iwanje+.”

4 Beni-hadadi yumviriza rero Umwami Asa, arungika abakuru b’inteko za gisirikare ziwe ngo batere ibisagara vya Isirayeli, ku buryo basasika Iyoni+ na Dani+ na Abeli-mayimu+ n’ububiko bwose+ bw’ibisagara vya Nafutali+. 5 Bayasha akimara kuvyumva, aca areka kwubaka Rama maze ahagarika igikorwa ciwe+. 6 Nayo Asa umwami, ahitana Yuda yose+, maze batangura gutwara amabuye y’igisagara ca Rama+ n’ibiti vyaco, ivyo Bayasha yari yarubakishije+, atangura kuvyubakisha Geba+ na Mizipa+.

7 Ico gihe Hanani+ rubonyi aza kuri Asa umwami wa Yuda maze amubwira ati: “Ko wishimikije umwami wa Siriya+, ntiwishimikize Yehova Imana yawe+, ni co catumye inteko za gisirikare z’umwami wa Siriya zikira ukuboko kwawe. 8 Mbega Abanyetiyopiya+ n’Abanyalibiya+ ntibari inteko za gisirikare zikomeye cane uravye ubwinshi, imikogote n’abagendera ku mafarasi+? Yamara, kubera ko wishimikije Yehova, ntiyabatanze none mu kuboko kwawe+? 9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.”

10 Ariko Asa ababazwa n’uwo rubonyi maze amushira mu nzu y’impatane z’ibiti*+, kuko yari yamugiriye ubushangashirwe kubera ico kintu+. Nuko Asa atangura gukandamiza+ n’abandi bantu muri ico gihe nyene. 11 Kandi ehe ivya Asa, ivya mbere n’ivya nyuma, vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda n’aba Isirayeli.

12 Maze Asa, mu mwaka ugira mirongo itatu n’icenda w’ingoma yiwe, afatwa n’indwara mu birenge, gushika aho aremba+; ariko no mu ndwara yiwe, ntiyarondera Yehova+ mugabo arondera abavūzi+. 13 Amaherezo Asa aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, apfa mu mwaka ugira mirongo ine na rimwe w’ingoma yiwe. 14 Nuko bamuhamba mu mva yiwe ihambaye+ yari yariyimbishirije mu Gisagara ca Dawidi+; bamuryamika ku gitanda cari cujujwe amavuta y’umusomozo+ n’ubwoko butandukanye bw’amavuta manovu+ avanzwe agacika amavuta manovu akozwe mu buryo budasanzwe+. Vyongeye, bamugirira iturira ry’imibavu+ rijanye n’amaziko rihambaye bimwe bidasanzwe.

17 Maze Yehoshafati+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe no gukomeza ikibanza ciwe kuri Isirayeli. 2 Atangura gushira inteko za gisirikare mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vya Yuda no gushira ibirindiro mu gihugu ca Yuda no mu bisagara vya Efurayimu, ivyo Asa se wiwe yari yarafashe+. 3 Yehova abandanya kubana na Yehoshafati+, kuko yagendera mu nzira za kera za Dawidi sekuruza+, ntarondere za Bayali+. 4 Kuko Imana ya se ari yo yarondera+ kandi akagendera mw’ibwirizwa ryayo+, ntakore ibikorwa vya Isirayeli+. 5 Yehova aguma ashimangiye ubwami mu kuboko kwiwe+; kandi Yuda yose ibandanya guha impano+ Yehoshafati, maze agira ubutunzi bwinshi n’ubuninahazwa bwinshi+. 6 Nuko umutima wiwe ugira ubutinyutsi mu nzira+ za Yehova, akura mbere muri Yuda ibibanza bikirurutse+ n’ibikingi vyeranda+.

7 Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma yiwe atumako abaganwa biwe, ari bo Beni-hayili na Obadiya na Zekariya na Netaneli na Mikaya, kugira ngo bigishe mu bisagara vya Yuda, 8 bari kumwe n’Abalewi: Shemaya na Netaniya na Zebadiya na Asaheli na Shemiramoti na Yehonatani na Adoniya na Tobiya na Tobu-adoniya Abalewi, bari kumwe kandi na Elishama na Yehoramu abaherezi+. 9 Nuko batangura kwigisha+ muri Yuda, bakaba bari bitwaje igitabu c’itegeko rya Yehova+; baguma bazunguruka mu bisagara vyose vya Yuda, bigisha mu bantu.

10 Maze ubwoba+ buvuye kuri Yehova buza ku bwami bwose bw’ibihugu vyari irya n’ino ya Yuda, ntibwarwanya Yehoshafati+. 11 Kandi barazanira Yehoshafati impano+ n’amahera vy’ikibuguro+ babikuye ku Bafilisitiya. Abarabu+ na bo nyene baramuzanira imikuku: impfizi z’intama ibihumbi indwi n’amajana indwi n’amasuguru y’impene ibihumbi indwi n’amajana indwi+.

12 Yehoshafati abandanya gutera imbere no kuba uwuhambaye+ ku rugero rwo hejuru; kandi aguma yubaka muri Yuda ibibanza bikingijwe ibihome+ n’ibisagara vy’ububiko+. 13 Agira ibintu vyinshi mu bisagara vya Yuda; kandi i Yeruzalemu hari abarwanyi+, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+. 14 Aya ni yo yari amabanga yabo hakurikijwe inzu ya ba sekuruza babo: Muri Yuda hari abakuru b’ibihumbi: uwa mbere yari Aduna umukuru, akaba yari kumwe n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi ibihumbi amajana atatu+. 15 Yagaba Yehohanani umukuru, uno akaba yari kumwe n’abagabo ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani. 16 Yagaba Amasiya mwene Zikiri uwitanze+ gukorera Yehova, akaba yari kumwe n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi ibihumbi amajana abiri. 17 Muri Benyamini+ na ho hari wa mugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi Eliyada, akaba yari kumwe n’abagabo ibihumbi amajana abiri bafise umuheto n’inkinzo+. 18 Yagaba Yehozabadi, uno akaba yari kumwe n’abagabo ibihumbi ijana na mirongo umunani bafise ibikoresho ku bw’ingabo. 19 Abo ni bo bakorera umwami, uretse abo umwami yashize mu bisagara bikingijwe ibihome+ muri Yuda hose.

18 Maze Yehoshafati agira ubutunzi bwinshi n’ubuninahazwa bwinshi+; mugabo yunga na Ahabu+ ubucuti bw’ukwabirana+. 2 Nuko haciye imyaka, amanuka kwa Ahabu i Samariya+; Ahabu ashikana ku bwa Yehoshafati n’abantu bari kumwe na we ibimazi vyinshi vy’intama+ n’inka. Maze atangura kumuhendahenda+ ngo baduge gutera Ramoti-gileyadi+. 3 Nuko Ahabu umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati umwami wa Yuda ati: “None uzojana nanje i Ramoti-gileyadi+?” Na we amubwira ati: “Ndi nkawe, kandi abantu banje ni nk’abantu bawe, kandi turi kumwe nawe mu ntambara+.”

4 Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: “Ndakwinginze ubanze ubaze+ ijambo rya Yehova.” 5 Nuko umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi+, abagabo amajana ane, maze ababwira ati: “Tugende gutera Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke+?” Na bo batangura kuvuga bati: “Duga, kandi Imana y’ukuri izohatanga mu kuboko kw’umwami.”

6 Mugabo Yehoshafati avuga ati: “Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova asigaye+? Dusiguze rero biciye kuri we+.” 7 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati+ ati: “Haracasigaye umugabo umwe+ twocishako mu gusiguza Yehova, mugabo jewe ndamwanka+, kuko atabūra ivyiza ku binyerekeye, mugabo imisi yiwe yose yama abûra ibibi+. Ni Mikaya mwene Imula+.” Ariko Yehoshafati avuga ati: “Umwami yoye kuvuga ikintu nk’ico+.”

8 Nuko umwami wa Isirayeli ahamagara umukozi wo ku kirimba+ maze avuga ati: “Zana ningoga Mikaya mwene Imula+.” 9 Kandi umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda bari bicaye umwe wese ku ntebe y’ubwami yiwe, bambaye impuzu za cami+, bakaba bari bicaye ku mbuga y’ikubitiro, ku bwinjiriro bw’irembo rya Samariya; abahanuzi bose bariko bakora bwa bahanuzi imbere yabo+. 10 Maze Zedekiya mwene Kenayana yihingurira amahembe+ y’icuma hanyuma avuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze+: ‘Aya ni yo uzosunikisha Abasiriya gushika ubatikije+.’” 11 N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga gutyo nyene, bati: “Duga i Ramoti-gileyadi kandi uroranirwe+, Yehova azohatanga ata gukeka mu kuboko kw’umwami+.”

12 Ya ntumwa yaja guhamagara Mikaya imubwira iti: “Umve, amajambo y’abahanuzi ni meza yose ku bijanye n’umwami; ndakwinginze ijambo ryawe ribe nk’iry’umwe muri bo+, uvuge iciza+.” 13 Mugabo Mikaya avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, ivyo Imana yanje iza kuvuga, ni vyo nza kuvuga+.” 14 Maze yinjira aho umwami ari, hanyuma umwami amubwira ati: “Mikaya, tuje i Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke?” Aca avuga ati: “Duga kandi uroranirwe; bazotangwa mu kuboko kwanyu+.” 15 Umwami aca amubwira ati: “Ni kangahe nkurahiza+ yuko ata kindi ukwiye kumbwira atari ukuri mw’izina rya Yehova+?” 16 Na we avuga ati: “Ndabona koko Abisirayeli bose basanzaye ku misozi, nk’intama zitagira umwungere+. Yehova avuga kandi ati: ‘Abo ntibagira ba shebuja+. Nibasubire inyuma, umwe wese yigire ku nzu yiwe amahoro+.’”

17 Maze umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati ati: “Sinakubwiye nti: ‘Ntaza kubûra ibintu vyiza ku binyerekeye, atari ibibi+’?”

18 Mikaya abandanya kuvuga ati: “Nimwumve rero ijambo rya Yehova+: Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe+, n’ingabo zose+ zo mu majuru zihagaze iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe+. 19 Maze Yehova avuga ati: ‘Ni nde aza guhenda Ahabu umwami wa Isirayeli kugira ngo aduge hanyuma agwe i Ramoti-gileyadi?’ Haba ikiyago, umwe akavuga uku, uwundi akavuga kuriya+. 20 Amaherezo impwemu+ imwe irasohoka, ihagarara imbere ya Yehova, ivuga iti: ‘Jewe ndamuhenda.’ Yehova aca ayibwira ati: ‘Gute+?’ 21 Na yo iti: ‘Ndasohoka ncike koko impwemu ihendana mu kanwa k’abahanuzi biwe bose+.’ Avuga rero ati: ‘Uraza kumuhenda; n’ikindi kandi, uratahukana intsinzi+. Sohoka ugire gutyo+.’ 22 Ehe rero Yehova yashize impwemu ihendana mu kanwa k’abo bahanuzi bawe+; mugabo Yehova ubwiwe yavuze ivyago ku bikwerekeye+.”

23 Nuko Zedekiya+ mwene Kenayana+ aregera, akubita Mikaya+ kw’itama+ hanyuma avuga ati: “Mbega impwemu ya Yehova yaciye hehe ivuye muri jewe kugira ngo ivugane nawe+?” 24 Mikaya aca avuga ati: “Ehe, uzobona aho yaciye aho ari ho kuri urya musi+ uzokwinjira mu cumba c’ahitereye kwinyegeza+.” 25 Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: “Nimufate Mikaya mumusubize kuri Amoni umukuru w’igisagara no kuri Yowasi umuhungu w’umwami+. 26 Muheze muvuge muti: ‘Ibi ni vyo umwami avuze: “Shire uyu mugabo mu nzu y’ibohero+, mumugaburire ingaburo y’umukate+ igabanijwe be n’ingaburo y’amazi igabanijwe, gushika ngarutse amahoro+.”’” 27 Mikaya aca avuga ati: “Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.” Yongerako ati: “Nimwumve, yemwe bisata vy’abantu mwese+.”

28 Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda baduga i Ramoti-gileyadi+. 29 Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: “Ndaza kwiyoberanya+ maze ninjire mu rugamba, mugabo wewe, wambare impuzu zawe za cami+.” Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya, hanyuma binjira mu rugamba+. 30 Nayo umwami wa Siriya, yari yategetse abakuru b’imikogote yiwe ati: “Ntimurwanye umuto canke uwukomeye, mugabo murwanye umwami wa Isirayeli wenyene+.” 31 Nya bakuru b’imikogote bakimara kubona Yehoshafati, bibwira bati: “Ni umwami wa Isirayeli+.” Barahindukira rero kugira bamurwanye; maze Yehoshafati atangura gutabaza+, Yehova na we ubwiwe aramufasha+, Imana ica ibakwegakwegera kure yiwe+. 32 Nya bakuru b’imikogote bakibona yuko atari umwami wa Isirayeli, baca basubira inyuma bareka kumukurikira+.

33 Nuko umugabo umwe apfa gufora umuheto ata mugambi mubi abigiranye, mugabo arasa+ umwami wa Isirayeli aho ibindi bihimba vy’ibirwanisho vyahurira n’umwitero w’ivyuma, ku buryo abwira uwutwara umukogote+ ati: “Hindukiza ukuboko kwawe, unkure mw’ikambi, kuko nakomerekejwe bimwe bibi+.” 34 Urugamba rurushiriza gukomera kuri uwo musi, biba ngombwa ko umwami wa Isirayeli aguma ahagaritswe mu mukogote arabana n’Abasiriya gushika ku mugoroba; amaherezo arapfa mu gihe c’ukurenga kw’izuba+.

19 Maze Yehoshafati umwami wa Yuda agaruka amahoro+ ku nzu iwe i Yeruzalemu. 2 Nuko Yehu+ mwene Hanani+ umubonyi+ arasohoka aja imbere yiwe, abwira Umwami Yehoshafati ati: “Mbega umubisha ni we yari akwiye gutabarwa+? Abanka+ Yehova ni bo ukwiye gukunda+? Ku bw’ico Yehova arakurakariye+. 3 Ariko hari ibintu vyiza+ vyabonetse muri wewe, kuko wakuye ibikingi vyeranda mu gihugu+ kandi ugategurira umutima wawe kurondera Imana y’ukuri+.”

4 Yehoshafati abandanya kuba i Yeruzalemu; maze yongera gusohoka aja mu bantu kuva i Beyeri-sheba+ gushika mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, kugira ngo abagarukane kuri Yehova Imana ya ba sekuruza babo+. 5 Nuko ashira abacamanza mu gihugu cose, mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vya Yuda, igisagara ku kindi+. 6 Maze abwira abo bacamanza ati: “Murabe ivyo mukora+, kuko mudaca imanza z’umuntu mugabo muca imanza za Yehova+; kandi ari kumwe namwe mu vy’uguca imanza+. 7 Nuko rero, mutinye Yehova+. Mube maso mukore+, kuko ata kutagororoka+ canke ukugira nkunzi+ canke ukurya igiturire+ biri muri Yehova Imana yacu.”

8 I Yeruzalemu na ho nyene Yehoshafati ahashira bamwe mu Balewi+ n’abaherezi+, na bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuru+ ba Isirayeli ngo bace imanza+ za Yehova n’imanza+ z’ababa i Yeruzalemu. 9 Vyongeye, abategeka ati: “Ng’uku uko muzokora mu gutinya+ Yehova, mubigiranye ubwizigirwa n’umutima ukwiye. 10 Ku vyerekeye urubanza rwose bene wanyu baba mu bisagara vyabo bazobatura, rwaba urujanye n’ugusesa amaraso+, urujanye n’itegeko+ n’ibwirizwa+ n’ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+, muze mubagabishe kugira ntibacumure kuri Yehova bikaba ngombwa ko mwe na bene wanyu murakarirwa+. Ukwo ni ko muzokora kugira ntimwikwegere ukwagirwa n’icaha. 11 Ehe ng’uyu Amariya umukuru w’abaherezi wo kubayobora ku bijanye n’ikintu cose ca Yehova+; na Zebadiya mwene Ishimayeli indongozi y’inzu ya Yuda ku bijanye n’ikintu cose c’umwami; kandi ehe murafise Abalewi bazobabera abarongozi. Nimukomere+ mukore, Yehova+ abane n’iciza+.”

20 Inyuma y’ivyo, bene Mowabu+ na bene Amoni+, bari kumwe na bamwe mu Bamonimu+, baza gutera Yehoshafati mu ntambara+. 2 Nuko abantu baza kubimenyesha Yehoshafati, bati: “Hari isinzi rinini rije kugutera rivuye mu karere k’ikiyaga, muri Edomu+; kandi ehe bari i Hazazoni-tamari, ari ho Eni-gedi+.” 3 Yehoshafati aca aratinya+ maze yiyemeza kurondera Yehova+. Atangaza rero ko Yuda yose yisonzesha+. 4 Amaherezo abo muri Yuda bakoranirizwa hamwe kugira ngo basiguze Yehova+. Egome, abo mu bisagara vyose vya Yuda baza kubaza Yehova+.

5 Maze Yehoshafati ahagarara mw’ishengero rya Yuda n’irya Yeruzalemu mu nzu ya Yehova+, imbere y’ikigo gishasha+, 6 hanyuma avuga+ ati:

“Ewe Yehova Mana ya ba sogokuruza bacu+, mbega nturi Imana mu majuru+, kandi ntuganza ubwami bwose bw’amahanga+, kandi mu kuboko kwawe ntihari ububasha n’ubushobozi, akaba ata n’umwe yoguhagarara imbere+? 7 Mbega si wewe, ewe Mana yacu+, wirukanye ababa muri iki gihugu bakava imbere y’abantu bawe Isirayeli+ maze ukagiha+ uruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wawe+, gushika igihe kitagira urugero? 8 Barakibayemwo, maze batangura kukikwubakiramwo aheranda ku bw’izina ryawe+, mu kuvuga bati: 9 ‘Icago nicatuzako+, ari inkota canke urubanza rubi canke ikiza+ canke ikigoyi+, tuze duhagarare imbere y’iyi nzu+ n’imbere yawe (kuko izina ryawe+ riri muri iyi nzu), kugira ngo tugutabaze mu marushwa yacu, uheze wumve maze udukize+.’ 10 None ehe bene Amoni+, na Mowabu+ n’akarere k’imisozi ka Seyiri+, abo utemereye Isirayeli kubashwaramwo igihe bari bavuye mu gihugu ca Misiri, mugabo bagaca kure yabo ntibabazimanganye+, 11 egome, ehe baduhemvye+ kwinjira ngo batwirukane mu ntoranwa yawe watumye twigabira+. 12 Ewe Mana yacu, mbega ntuzobashitsako urubanza+? Kuko tudafise ububasha imbere y’iri sinzi rinini rije kudutera+; kandi twebwe ntituzi ico turi bukore+, mugabo ni wewe duhanze amaso+.”

13 Muri ico gihe abo muri Yuda bose bari bahagaze imbere ya Yehova+, mbere n’abana babo batoyi+ n’abagore babo n’abahungu babo.

14 Nayo Yahaziyeli mwene Zekariya, Zekariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya, Umulewi wo muri bene Asafu+, impwemu+ ya Yehova imuzako hagati mw’ishengero. 15 Nuko avuga ati: “Nimwumvirize, ewe Yuda yose namwe ababa i Yeruzalemu nawe Mwami Yehoshafati! Ibi ni vyo Yehova ababwiye: ‘Ntimutinye+ canke ngo mutekerwe n’ubwoba kubera iryo sinzi rinini; kuko urugamba atari urwanyu, mugabo ni urw’Imana+. 16 Ejo muze mumanuke kubategera. Ehe bariko badugana akanyuro ka Zizi; muzobasanga koko ku mpera y’umwonga imbere y’agahinga ka Yeruweli. 17 Ntimuzorinda kurwana+ ico gihe. Muze mufate ikibanza canyu, muhagarare mudakoma+ maze mubone ubukiriro+ bwa Yehova muzokirishwa. Ewe Yuda na Yeruzalemu, ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba+. Ejo muze musohoke kubategera, Yehova azoba ari kumwe namwe+.’”

18 Yehoshafati aca arunama, mu maso hiwe hakora hasi+, na Yuda yose n’ababa i Yeruzalemu bikubita hasi imbere ya Yehova kugira bunamire Yehova+. 19 Maze Abalewi+ bo mu bahungu b’Abakohati+ n’abo mu bahungu b’Aba-Kora+ barahaguruka kugira bashemeze Yehova Imana ya Isirayeli n’ijwi rirenga bimwe bidasanzwe+.

20 Nuko bahaguruka kare mu gitondo maze barasohoka baja mu gahinga+ ka Tekowa+. Bariko barasohoka, Yehoshafati arahaguruka maze avuga ati: “Nimunyumve, ewe Yuda namwe ababa i Yeruzalemu+! Nimwizere+ Yehova Imana yanyu kugira ngo mumare ikiringo kirekire. Nimwizere abahanuzi biwe+ mubone kuroranirwa.”

21 Vyongeye, aja inama+ n’abantu maze ashiraho abaririmvyi+ bo kuririmbira Yehova n’abamushemeza+ bashazishije impuzu nyeranda+, bakabigira igihe basohotse bitangiye imbere abagabo bafise ibirwanisho+, bavuga bati: “Shemeze Yehova+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+ ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.”

22 Aho batanguriye kwiha akamo k’umunezero no kumushemeza, Yehova ashiraho abagabo bo kubundira+ bene Amoni, Mowabu n’akarere k’imisozi ka Seyiri bariko baza muri Yuda, maze bano batangura gukubitana+. 23 Nuko bene Amoni na Mowabu bahagurukira ababa mu karere k’imisozi ka Seyiri+ kugira ngo babatikize, babazimanganye; bakimara kurangiza ababa i Seyiri, baca bafashanya umwe wese kwica mugenziwe+.

24 Nayo Yuda, iza ku munara w’inderetsi wo mu gahinga+. Bagize ngo barahindukira kuraba nya sinzi, baza bababona bari ng’aho, imivyimba yabo irambaraye hasi+ ata n’umwe yacitse kw’icumu. 25 Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baza gusahura isahu+ ryabo; baronka muri bo ibintu n’ivyambarwa n’ibintu bihimbaye, vyinshi; batangura kubambura ivyo bitwarira gushika aho badashobora gutwara ikindi kintu na kimwe+. Bamara imisi itatu basahura nya sahu, kuko ryari ryinshi. 26 Maze ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya co hasi ca Beraka, kuko ari ho bahezagiriye Yehova+. Ni co catumye aho hantu bahita+ Ikiyaya co Hasi ca Beraka*, gushika uno musi.

27 Maze abagabo bose ba Yuda na Yeruzalemu barahindukira barongōwe na Yehoshafati, kugira basubire i Yeruzalemu banezerewe, kuko Yehova yari yabanezereje ku bijanye n’abansi babo+. 28 Baza rero i Yeruzalemu ku nzu ya Yehova+, bafise ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+ n’inzumbete+. 29 Nuko ubwoba+ buvuye ku Mana buba ku bwami bwose bw’ibihugu, aho bumviye ko Yehova yari yarwanije abansi ba Isirayeli+. 30 Gutyo akarere k’ubwami ka Yehoshafati ntikongera kudurumbanywa, kandi Imana yiwe ibandanya kumuha akaruhuko impande zose+.

31 Nuko Yehoshafati+ abandanya kuganza Yuda. Yari afise imyaka mirongo itatu n’itanu igihe yatangura kuganza, amara imyaka mirongo ibiri n’itanu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Azuba+ umukobwa wa Shilihi. 32 Aguma agendera mu nzira ya se wiwe Asa+, ntiyakevya ngo ayivemwo, akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+. 33 Gusa, ibibanza bikirurutse+ ntivyazimangana; kandi abantu ntibari bwategurire umutima wabo Imana ya ba sekuruza babo+.

34 Nayo ibisigaye mu vya Yehoshafati, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu majambo ya Yehu+ mwene Hanani+, ayasobetswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli. 35 Inyuma y’ivyo, Yehoshafati umwami wa Yuda yifatanya na Ahaziya+ umwami wa Isirayeli, uwakora ivy’ububisha+. 36 Yifatanya rero na we mu vyo gukora imeri zo kuja i Tarushishi+, bakora kandi imeri i Eziyoni-geberi+. 37 Ariko Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha avuga mu buryo bw’ubuhanuzi abwira Yehoshafati, ati: “Ko wifatanije na Ahaziya+, Yehova ntazobura gusenyura ibikorwa vyawe+.” Nuko nya meri zirasaba+, ntibasubira kugira inguvu zo kuja i Tarushishi+.

21 Amaherezo Yehoshafati aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza+ mu Gisagara ca Dawidi; nuko Yehoramu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 2 Yari afise bene wabo, abahungu ba Yehoshafati, ari bo Azariya na Yehiyele na Zekariya na Azariya na Mikaheli na Shefatiya, abo bose bakaba bari bene Yehoshafati umwami wa Isirayeli. 3 Nuko se abaha ingabirano+ nyinshi z’ifeza n’iz’inzahabu, n’iz’ibintu vyiza hamwe n’ibisagara bikingijwe ibihome muri Yuda+; mugabo ubwami abuha Yehoramu+, kuko yari imfura+.

4 Yehoramu atanguye kuganza ubwami bwa se, akomeza ikibanza ciwe; yicisha rero inkota bene wabo bose+ na bamwe mu baganwa ba Isirayeli. 5 Yehoramu yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka umunani aganza+ i Yeruzalemu. 6 Abandanya kugendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bari baragize; kuko umukobwa wa Ahabu yari yarabaye umugore wiwe+; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. 7 Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya inzu ya Dawidi+, kubera isezerano+ yari yaragiranye na Dawidi, nk’uko kandi yari yaravuze ko we n’abahungu biwe yobahaye+ itara nantaryo+.

8 Mu misi yiwe, Edomu+ igarariza ukuboko kwa Yuda+, bimika umwami wo kubaganza+. 9 Nuko Yehoramu arajabuka, ari kumwe n’abakuru biwe be n’imikogote yose. Araheza ahaguruka mw’ijoro, atangura gusasika Abanyedomu bari bamukikuje be n’abakuru b’imikogote. 10 Mugabo Edomu ibandanya kugarariza ukuboko kwa Yuda gushika n’uyu musi. Ico gihe nyene ni ho Libuna+ yatangura kugarariza ukuboko kwiwe, kuko yari yahevye Yehova Imana ya ba sekuruza biwe+. 11 Na we nyene yari yarakoze ibibanza bikirurutse+ ku misozi ya Yuda, kugira ngo atume ababa i Yeruzalemu bashurashura+, no kugira ngo yirukane Yuda+.

12 Amaherezo aronka urwandiko+ ruvuye kuri Eliya+ umuhanuzi, rugira ruti: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: ‘Kubera ko utagendeye mu nzira za Yehoshafati+ so wawe canke mu nzira za Asa+ umwami wa Yuda, 13 mugabo ukagendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+ kandi ugatuma Yuda n’ababa i Yeruzalemu bashurashura+, nk’uko inzu ya Ahabu yatumye haba ubushurashuzi+, mbere na bene wanyu, ari bo rugo rwa so bari beza kukurusha, ukabica+, 14 ehe Yehova agira akubite bikomeye+ abantu bawe+, n’abahungu bawe+, n’abagore bawe, n’ibintu vyawe vyose. 15 Nawe uzogira indwara nyinshi+, hamwe n’indwara y’amara yawe, gushika amara yawe asohotse kubera iyo ndwara, ku musi ku musi+.’”

16 Nuko Yehova ahagurukiriza Yehoramu urwanko*+ rw’Abafilisitiya+ n’urw’Abarabu+ bari iruhande y’Abanyetiyopiya+. 17 Baduga rero muri Yuda, binjirayo ku nguvu maze banyaga ibintu vyose vyari mu nzu y’umwami+, n’abahungu biwe be n’abagore biwe+, ntibamusigira umuhungu n’umwe kiretse Yehowahazi+, umuhungu wiwe w’umuhererezi. 18 Inyuma y’ivyo vyose, Yehova amuteza mu mara indwara idashobora gukira+. 19 Nuko mu misi yakurikiye, egome, haciye ikiringo c’imyaka ibiri yuzuye, amara yiwe+ arasohoka uno akirwaye, arateba apfira muri izo ndwara ziwe mbi; abantu biwe ntibamuturirira imibavu nk’uko bayituririye+ ba sekuruza biwe. 20 Yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. Amaherezo asandaba ata wukimushaka+. Nuko bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba mu mva z’abami+.

22 Maze ababa i Yeruzalemu bimika Ahaziya+ umuhungu wiwe w’umuhererezi ngo abe umwami mu kibanza ciwe (kuko ka kagwi k’abambuzi kazanana n’Abarabu+ kw’ikambi kari karishe bakuruwe bose+,) maze Ahaziya mwene Yehoramu atangura kuganza ari umwami wa Yuda. 2 Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yatangura kuganza+, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+ umwuzukuru wa Omuri+.

3 Na we nyene agendera mu nzira z’inzu ya Ahabu+, kuko nyina+ ari we yamubereye umujanama mu vyo gukora ivy’ububisha. 4 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, nk’inzu ya Ahabu, kuko ari bo bamubereye abajanama+ se wiwe amaze gupfa, bikamukwegera guhona. 5 Agendera kandi mu mpanuro yabo+, ku buryo ajana na Yehoramu+ mwene Ahabu umwami wa Isirayeli mu ntambara yo kurwanya Hazayeli+ umwami wa Siriya i Ramoti-gileyadi+, ari yo abarashi barasiyemwo Yehoramu+. 6 Nuko uno aragaruka kugira ngo yivurize i Yezireyeli+ ibikomere bari bamuteje i Rama*+ igihe yarwanya Hazayeli umwami wa Siriya.

Nayo Azariya*+ mwene Yehoramu+ umwami wa Yuda, amanuka kuraba Yehoramu+ mwene Ahabu i Yezireyeli, kuko yari arwaye+. 7 Mugabo ugutemba kwa Ahaziya kwavuye ku Mana+, igihe yaza kwa Yehoramu; ashitse, asohokana+ na Yehoramu baja kuri Yehu+ umwuzukuru wa Nimushi+, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta+ kugira arandure inzu ya Ahabu+. 8 Yehu akimara kugiranira amatati n’inzu ya Ahabu+, abona abaganwa ba Yuda n’abahungu ba bene wabo na Ahaziya+, abasuku ba Ahaziya, aca arabica+. 9 Maze atangura kurondera Ahaziya, amaherezo baramufata+, igihe yari yinyegeje i Samariya+, baraheza bamuzanira Yehu. Nuko baramwica maze baramuhamba+, kuko bavuze bati: “Ni umwuzukuru wa Yehoshafati+, uwarondeye Yehova n’umutima wiwe wose+.” Ntihagira n’umwe wo mu nzu ya Ahaziya asigarana ububasha bwo kuganza ubwami.

10 Nayo Ataliya+ nyina wa Ahaziya, abona ko umuhungu wiwe yari yapfuye. Arahaguruka rero, atikiza abo mu nda y’ingoma* bose b’inzu ya Yuda+. 11 Ariko Yehoshabeyati+ umukobwa w’umwami atora Yehowasi+ mwene Ahaziya, amwiba mu bahungu b’umwami bari kwicwa, maze we hamwe n’umurezi wiwe abashira mu cumba kigenewe uburiri. Yehoshabeyati umukobwa w’Umwami Yehoramu+, umugore wa Yehoyada+ umuherezi (kuko yari mushiki wa Ahaziya), aguma amunyegeje kubera Ataliya, ntiyamwica+. 12 Agumana na bo mu nzu y’Imana y’ukuri, anyegejwe mu kiringo c’imyaka itandatu+, mu gihe Ataliya yaganza igihugu+ ari umwamikazi+.

23 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada+ agira umutima rugabo maze agirana isezerano n’abakuru b’amajana+, ari bo Azariya mwene Yerohamu, na Ishimayeli mwene Yehohanani na Azariya mwene Obedi na Mayaseya mwene Adaya na Elishafati mwene Zikiri. 2 Hanyuma bazunguruka muri Yuda, bakoraniriza hamwe Abalewi+ bo mu bisagara vyose vya Yuda n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru+ ba Isirayeli. Nuko baza i Yeruzalemu. 3 Maze iryo shengero ryose rigirana isezerano+ n’umwami mu nzu+ y’Imana y’ukuri, hanyuma ababwira ati:

“Ehe umuhungu+ w’umwami azoganza+, nk’uko Yehova yasezeranye ku vyerekeye abahungu ba Dawidi+. 4 Ibi ni vyo muzokora: ica gatatu canyu mwebwe abaza kw’isabato+, bo mu baherezi+ no mu Balewi+, bazoba abarinzi b’imiryango+; 5 ikindi ca gatatu kizoba kiri ku nzu y’umwami+; ikindi ca gatatu na co kw’Irembo ry’Umushinge+; abantu bose bazoba bari mu bigo+ vy’inzu ya Yehova. 6 Ntihaze hagire uwinjira mu nzu ya Yehova+ atari abaherezi n’abo mu Balewi bakora igikorwa+. Abo ni bo bazokwinjira, kuko ari umugwi mweranda+, kandi abantu bose bazogumya ibwirizwa rya Yehova. 7 Kandi Abalewi baze bakikuze umwami irya n’ino+, umwe wese n’ibirwanisho vyiwe mu maboko; nayo uwo wese azokwinjira mu nzu, aze yicwe. Muze mugumane n’umwami iyo yinjiye n’iyo asohotse.”

8 Abalewi na Yuda yose bakora bisunze ivyo Yehoyada+ umuherezi yari yategetse vyose+. Nuko umwe wese atora abantu biwe, abinjira kw’isabato hamwe n’abasohoka kw’isabato+, kuko Yehoyada umuherezi atari yarekuye imice+ ngo ive ku gikorwa. 9 Vyongeye, Yehoyada umuherezi aha abakuru b’amajana+ amacumu n’inkinzo be n’inkinzo z’umuzingi+ vyahora ari ivy’Umwami Dawidi+, ivyari mu nzu y’Imana y’ukuri+. 10 Hanyuma ashiraho abantu bose+, emwe, umwe wese afise mu kuboko ikirwanisho ciwe co gutera, kuva ku ruhande rw’iburyo rw’inzu gushika ku ruhande rw’ibubamfu rw’iyo nzu, iruhande y’igicaniro n’iruhande y’iyo nzu, irya n’ino, hafi y’umwami. 11 Maze basohora umuhungu w’umwami+, bamushirako umugāra+ n’Igishingantahe+ baraheza bamugira umwami, gutyo Yehoyada n’abahungu biwe baramurobanuza amavuta+, bavuga bati: “Umwami nabeho+!”

12 Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bariko biruka bongera bashemeza umwami+, aca aza aho abantu bari ku nzu ya Yehova. 13 Maze aravye, abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi yiwe+ ku bwinjiriro, n’abaganwa+ n’abavuza inzumbete+ bari iruhande y’umwami, abanyagihugu bose na bo bariko banezerwa+ bongera bavuza inzumbete+, n’abaririmvyi+ bafise ibicurarangisho vy’ururirimbo n’abatanga ikimenyetso co gushemeza. Ataliya aca atantamura impuzu ziwe maze avuga ati: “Ni umugambi mubi! Ni umugambi mubi+!” 14 Mugabo Yehoyada umuherezi asohora abakuru b’amajana, abagenywe bo mu nteko za gisirikare, ababwira ati: “Musohore mumukure mu misitari+; kandi uwumukurikira wese yicishwe inkota!” Kuko uwo muherezi yari yavuze ati: “Ntimumwicire mu nzu ya Yehova.” 15 Nuko bamushorerako amaboko. Ashitse ku rwinjiriro rw’irembo ry’amafarasi rw’inzu y’umwami, baca bamwicira ng’aho+.

16 Maze Yehoyada apfundika isezerano hagati yiwe n’abantu bose be n’umwami, yuko bobandanije kuba abantu+ ba Yehova. 17 Inyuma y’ivyo, abantu bose baza ku nzu ya Bayali, bayisiturira hasi+; ibicaniro vyayo+ n’ibishusho vyayo barabimenagura+, Matani+ umuherezi wa Bayali na we bamwicira+ imbere y’ivyo bicaniro. 18 Vyongeye, Yehoyada ashira amabanga y’inzu ya Yehova mu kuboko kw’abaherezi n’Abalewi, abo Dawidi+ yari yarashize mu mice ku nzu ya Yehova ngo bashikane ibimazi biturirwa vya Yehova bisunze ivyanditswe mw’itegeko rya Musa+, babishikane banezerewe kandi baririmba nk’uko vyashinzwe na Dawidi. 19 Nuko ashira abarinzi b’amarembo+ ku marembo+ y’inzu ya Yehova kugira ngo ntihagire umuntu ahumanye mu buryo na bumwe yinjira. 20 Aca atora abakuru b’amajana+ n’abahambaye n’abatware b’abantu be n’abanyagihugu bose, araheza amanukana umwami amukuye ku nzu ya Yehova+. Maze bashika ku nzu y’umwami baciye mw’irembo ryo haruguru hanyuma bicarika umwami ku ntebe y’ubwami+. 21 Abanyagihugu bose babandanya kunezerwa+; igisagara ntihagira ikigihungabanya; nayo Ataliya, bari bamwicishije inkota+.

24 Yehowasi yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+, amara imyaka mirongo ine aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Zibiya w’i Beyeri-sheba+. 2 Yehowasi+ aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+ imisi yose ya Yehoyada umuherezi+. 3 Yehoyada amuronderera abagore babiri, hanyuma avyara abahungu n’abakobwa+.

4 Inyuma y’ivyo, Yehowasi agira icipfuzo mu mutima wiwe co gusanura inzu ya Yehova+. 5 Nuko akoraniriza hamwe abaherezi+ n’Abalewi, ababwira ati: “Nimuje mu bisagara vya Yuda, mwegeranye amahera muri Isirayeli yose yo gusanasana+ inzu y’Imana yanyu ku mwaka ku mwaka+; kandi muze mukore ningoga muri ivyo.” Mugabo Abalewi ntibakora ningoga+. 6 Umwami ahamagara rero Yehoyada umukuru, amubwira+ ati: “Kubera iki utagize ico ubaza Abalewi, kugira ngo bazane ikori ryeranda ryategetswe na Musa+ umusavyi wa Yehova barikuye muri Yuda n’i Yeruzalemu, egome, ikori ry’ishengero rya Isirayeli rigenewe ihema ry’Igishingantahe+? 7 Kuko ku bijanye na Ataliya wa mugore w’umubisha, abahungu biwe+ bari barinjiye ku nguvu mu nzu y’Imana y’ukuri+, eka mbere ibintu vyeranda vyose+ vyo mu nzu ya Yehova babihereza za Bayali+.” 8 Maze umwami atanga itegeko, bakora isandugu+, bayishira hanze kw’irembo ry’inzu ya Yehova. 9 Inyuma y’ivyo batera akamo muri Yuda hose n’i Yeruzalemu ngo bazanire Yehova ikori ryeranda+, iryo Musa umusavyi w’Imana y’ukuri yategetse+ Isirayeli mu gahinga. 10 Nuko abaganwa bose+ n’abantu bose batangura kunezerwa+, baguma barizana bariterera muri nya sandugu+ gushika bose batanze.

11 Igihe kibereye kigeze, yarazana nya sandugu akayizeza umwami biciye mu kuboko kw’Abalewi+, maze babonye ko hariho amahera menshi+, umunyamabanga+ w’umwami n’icariho c’umukuru w’abaherezi baraza bagacuranura nya sandugu bagaheza bakayiterura bakayisubiza mu kibanza cayo. Ukwo ni ko bagira ku musi ku musi, ku buryo begeranya amahera menshi. 12 Umwami na Yehoyada baca bayaha abakora+ umurimo w’igikorwa c’inzu ya Yehova+, bano na bo bagahera abaringaniza amabuye+ n’abahinguzi b’utugenegene+ kugira ngo basanure inzu ya Yehova+, bagahera n’abakora mu vy’ivyuma n’umujumpu ngo basanasane inzu ya Yehova+. 13 Nuko abakora igikorwa batangura ibikorwa+, igikorwa co gusanasana iyo nzu kiguma gitera imbere biciye ku kuboko kwabo; amaherezo bahagarika inzu y’Imana y’ukuri nk’uko yategerezwa kuba yubatse, bongera barayikomeza. 14 Bakimara kurangiza, bazana imbere y’umwami na Yehoyada amahera asigaye, maze bakora ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova, ibikoresho vy’igikorwa+ n’ivy’ugutanga amashikanwa, bakora n’ibikombe+ n’ibikoresho vy’inzahabu+ n’ivy’ifeza; kandi bama bashikana mu nzu ya Yehova ibimazi biturirwa+, imisi yose ya Yehoyada.

15 Yehoyada arasaza, ahāga imyaka+, amaherezo arapfa; apfa afise imyaka ijana na mirongo itatu. 16 Nuko bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi hamwe n’abami+, kuko yari yarakoze ivyiza muri Isirayeli+ no ku bijanye n’Imana y’ukuri be n’inzu yayo.

17 Yehoyada amaze gupfa, abaganwa+ ba Yuda baraza bunamira umwami. Umwami aca arabumviriza+. 18 Amaherezo baheba inzu ya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, batangura gukorera ibikingi vyeranda+ n’ibigirwamana+, ku buryo Yuda na Yeruzalemu birakarirwa kubera icaha cavyo+. 19 Yehova aguma atuma abahanuzi+ muri bo kugira ngo babagarukane kuri we; baguma babagiriza, mugabo ntibatega ugutwi+.

20 Maze impwemu y’Imana+ itwikira+ Zekariya+ mwene Yehoyada+ umuherezi, ahagarara ahakirurutse imbere y’abantu hanyuma ababwira ati: “Ibi ni vyo Imana y’ukuri ivuze: ‘Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova, bigatuma mutaroranirwa+? Ko mwahevye Yehova, na we azobaheba+.’” 21 Amaherezo bamugīra umugambi mubi+ maze bamutera amabuye+ mu kigo c’inzu ya Yehova bitegetswe n’umwami. 22 Yehowasi umwami ntiyibuka ubuntu bwuzuye urukundo Yehoyada se wa Zekariya yari yaramugiriye+, ku buryo yica umuhungu wiwe, uno, igihe yagira apfe, akaba yavuze ati: “Yehova nabirabe, avyishuze+.”

23 Nuko mu ntango z’umwaka+, inteko za gisirikare za Siriya+ ziduga kumutera+, maze zitangura gushwara Yuda na Yeruzalemu. Ziraheza zihonya mu bantu abaganwa bose+ b’abantu, maze isahu ryabo ryose zirirungikira umwami wa Damasiko+. 24 Kuko inteko za gisirikare z’Abasiriya zashwaye igihugu zigizwe n’abagabo bakeyi+, maze Yehova ubwiwe agatanga mu kuboko kwazo inteko za gisirikare nyinshi cane+, kuko bari barahevye Yehova Imana ya ba sekuruza babo; nuko bashitsa kuri Yehowasi urubanza+. 25 Maze bagiye bavuye iwe (kuko bamusize arwaye indwara nyinshi+), abasuku biwe bamugīra umugambi mubi+ kubera amaraso+ ya bene Yehoyada+ umuherezi; bamwicira ku buriri bwiwe, arapfa+. Maze bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba mu mva z’abami+.

26 Aba ni bo bamugīriye umugambi mubi: Zabadi+ umuhungu wa Shimeyati Umwamonikazi na Yehozabadi umuhungu wa Shimuriti Umunyamowabukazi. 27 Nayo ibijanye n’abahungu biwe n’amajambo menshi yamenyeshejwe kuri we+ be n’isanurwa+ ry’inzu y’Imana y’ukuri, ehe vyanditswe mu nsobanuro zo mu Gitabu+ c’Abami. Nuko Amaziya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

25 Amaziya+ yabaye umwami afise imyaka mirongo ibiri n’itanu, maze amara imyaka mirongo ibiri n’icenda aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadani+ w’i Yeruzalemu. 2 Abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, mugabo ntiyabigirana umutima ukwiye+. 3 Ubwami bukimara gukomera kuri we, aca yica+ abasuku biwe+ bari barishe umwami se wiwe+. 4 Mugabo abana babo ntiyabica, ariko akora nk’uko ivyanditswe mw’itegeko biri, mu gitabu ca Musa+, ivyo Yehova yategetse ati: “Ba se ntibaze bicwe bahowe abana babo+, eka n’abana ntibaze bicwe bahowe ba se+; mugabo baze bicwe umwe wese ahowe igicumuro ciwe bwite+.”

5 Nuko Amaziya akoraniriza hamwe Yuda maze abahagarika yisunze inzu ya ba sekuruza+, akurikije abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana+, ku bwa Yuda yose na Benyamini yose; hanyuma arabandika kuva ku myaka mirongo ibiri+ kuduga, amaherezo asanga ari abagabo b’abahizi ibihumbi amajana atatu baja mu ngabo, bakoresha icumu+ n’inkinzo yagutse+. 6 Vyongeye, ahēra muri Isirayeli abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi ibihumbi ijana, abahēra italanto ijana z’ifeza. 7 Hanyuma umuntu umwe w’Imana y’ukuri+ aza kuri we, avuga ati: “Ewe mwami, ingabo za Isirayeli ntizijane nawe, kuko Yehova atari kumwe na Isirayeli+, ni ukuvuga abahungu bose ba Efurayimu. 8 Mugabo ingo wewe ubwawe, ukore, ugire umutima rugabo ku bw’intambara+. Imana y’ukuri yohava igutsitaza imbere y’umwansi; kuko Imana ifise ububasha bwo gufasha+ no gutsitaza+.” 9 Amaziya+ aca abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: “Mugabo none bigende gute ku bijanye n’italanto ijana nahaye abasirikare ba Isirayeli+?” Nya muntu w’Imana y’ukuri na we ati: “Yehova arafise uburyo bwo kuguha ibiruta ivyo+.” 10 Nuko Amaziya arabatandukanya, ni ukuvuga abasirikare bari baje kuri we bavuye muri Efurayimu, kugira bigire iwabo. Ariko ishavu ryabo rirurumbira cane Yuda, ku buryo basubira iwabo barunguriye n’ishavu+.

11 Nuko Amaziya agira umutima rugabo, ayobora abantu biwe, aja mu Mubande w’Umunyu+; maze asasika bene Seyiri+, ibihumbi cumi muri bo+. 12 Bene Yuda bafata ibihumbi cumi ari bazima. Babajana rero hejuru ku rutare maze batangura kubakoragura bahanutse hejuru kuri nya rutare; bose baramenagurika+. 13 Nayo ba basirikare Amaziya yari yasubije inyuma ngo ntibajane na we mu ntambara+, batangura kugaba ibitero ku bisagara vya Yuda, kuva i Samariya+ gushika i Beti-horoni+, basasika muri bo ibihumbi bitatu bongera batwara isahu rinini.

14 Mugabo Amaziya agarutse avuye gusasika Abanyedomu, aza rero azanye imana+ za bene Seyiri araheza azīshiriraho ngo zimubere imana+; atangura kuzunamira+, atangura no kuzifumbishiriza umwotsi w’ibimazi+. 15 Maze ishavu rya Yehova rirurumbira Amaziya, ku buryo atuma umuhanuzi kuri we akamubwira ati: “Kubera iki warondeye+ imana z’abo bantu+ zitarokoye abantu bazo mu kuboko kwawe+?” 16 Avuganye na we, umwami aca amubwira ati: “Mbega twakugize umujanama w’umwami+? Sigaho ku neza yawe+. Barinde kukwica?” Nuko nya mujanama asigaho, mugabo avuga ati: “Ndazi ntakeka yuko Imana yiyemeje kuguhonya+, kuko wakoze ivyo+ kandi ntiwumvirize impanuro yanje+.”

17 Maze Amaziya umwami wa Yuda agisha inama hanyuma atuma kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi wa Yehu, umwami wa Isirayeli+, ati: “Ingo duhangane+.” 18 Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kuri Amaziya umwami wa Yuda+ ati: “Icatsi c’amahwa cari muri Libani catumye kw’isederi ryari muri Libani+ giti: ‘Nuhe umukobwa wawe umuhungu wanje amubere umugore+.’ Ariko igikoko co mw’ishamba+ cari muri Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa. 19 Wibwiye ngo: Ehe warasasitse Edomu+. Kandi umutima wawe+ wagushize hejuru kugira ngo uninahazwe+. Nugume rero wibera mu nzu yawe+. Kubera iki worinda kwinjira mu matati kandi ibintu bimeze nabi+, ukabwirizwa gutemba, ugatembana na Yuda+?”

20 Mugabo Amaziya ntiyumviriza; kuko vyari bivuye ku Mana y’ukuri+ kugira ngo ibatange mu kuboko kwiwe, kubera ko bari barondeye imana za Edomu+. 21 Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli araduga+, maze barahangana+, we na Amaziya umwami wa Yuda, bahanganira i Beti-shemeshi+ hegukira Yuda. 22 Maze Yuda iratsindwa imbere ya Isirayeli+, ku buryo bahunga, umwe wese akaja kw’ihema ryiwe+. 23 Amaziya umwami wa Yuda, mwene Yehowasi, Yehowasi wa Yehowahazi, ni we Yehowasi umwami wa Isirayeli yafatiye+ i Beti-shemeshi, amuzana i Yeruzalemu+ maze aca igihengeri mu ruhome rwa Yeruzalemu, kuva kw’Irembo rya Efurayimu+ gushika kw’Irembo ryo mu Mfuruka+, igihengeri c’amatambwe amajana ane. 24 Atora inzahabu zose n’ifeza zose n’ibintu vyose vyari mu nzu y’Imana y’ukuri, kwa Obedi-edomu+ no mu matunga y’inzu y’umwami+, n’abagizwe imbohe, araheza asubira i Samariya+.

25 Amaziya+ mwene Yehowasi umwami wa Yuda abandanya kubaho imyaka cumi n’itanu+ inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli. 26 Nayo ibisigaye mu vya Amaziya, ivya mbere n’ivya nyuma+, none ntivyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda na Isirayeli+? 27 Kuva igihe Amaziya ahindukiriye akareka gukurikira Yehova, batangura kumugīra umugambi mubi+ i Yeruzalemu. Amaherezo ahungira i Lakishi+; mugabo batuma abamukurikira i Lakishi bamwicirayo+. 28 Nuko bamutwara ku mafarasi+ hanyuma bamuhamba hamwe na ba sekuruza biwe mu gisagara ca Yuda+.

26 Maze abantu bose+ bo muri Yuda batora Uziya+, uno akaba yari afise imyaka cumi n’itandatu, bamugira+ umwami mu kibanza ca se Amaziya+. 2 Ni we yasubiye kwubaka Eloti+ maze ayisubiza kuri Yuda inyuma y’aho umwami amariye kuryama hamwe na ba sekuruza biwe+. 3 Uziya+ yari afise imyaka cumi n’itandatu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itanu n’ibiri aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya+ w’i Yeruzalemu. 4 Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Amaziya se wiwe yari yarakoze vyose+. 5 Aguma yihatira kurondera+ Imana mu misi ya Zekariya, uwigisha ugutinya Imana y’ukuri+; kandi, mu misi yarondeye Yehova, Imana y’ukuri imuha gutunganirwa+.

6 Nuko asohoka kurwanya Abafilisitiya+ maze aca igihengeri mu ruhome rw’i Gati+ no mu ruhome rw’i Yabune+ no mu ruhome rw’i Ashidodi+, hanyuma yubaka ibisagara mu karere ka Ashidodi+ no mu Bafilisitiya. 7 Imana y’ukuri ibandanya kumufasha+ kurwanya Abafilisitiya, n’Abarabu+ baba i Guribayali, n’Abamewunimu+. 8 Abamoni+ batangura guha ikibuguro+ Uziya. Amaherezo ukuba rurangiranwa kwiwe+ kuragenda gushika no mu Misiri, kuko yerekanye ko ari umunyenkomezi bidasanzwe. 9 Vyongeye, Uziya yubaka iminara+ i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo ryo mu Mfuruka+, n’iruhande y’Irembo ryo ku Mubande+ be n’iruhande y’Urwego, arayikomeza. 10 Vyongeye, yubaka iminara+ mu gahinga, yimba amatangi menshi (kuko yari yararonse ibitungwa vyinshi), agira gutyo no muri Shefela*+ no mu ntara y’itaba. Mu misozi n’i Karumeli hariyo abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu, kuko yakunda uburimyi.

11 Vyongeye, Uziya agira inteko zija mu ntambara, abasohoka mu gikorwa ca gisirikare mu migwi+, hakurikijwe igitigiri c’ingene banditswe+ n’ukuboko kwa Yeyeli umunyamabanga+ n’ukwa Mayaseya umurongozi, bano bakaba bagabwa+ na Hananiya wo mu baganwa b’umwami+. 12 Igitigiri cose hamwe c’abakuru b’amazu ya ba sekuru+, c’abagabo b’intwari+ kandi b’abanyenkomezi+, cari ibihumbi bibiri n’amajana atandatu. 13 Bari bajejwe inteko zigizwe n’abagabo ibihumbi amajana atatu n’indwi n’amajana atanu baja mu ntambara bafise ububasha bw’inteko za gisirikare, kugira ngo bafashe umwami kwivuna umwansi+. 14 Uziya abandanya kubategurira, ni ukuvuga ingabo zose uko zingana, inkinzo+ n’amacumu+ n’inkofero+ n’amakoti y’ivyuma+ n’imiheto+ be n’amabuye atezwa umugozi+. 15 Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara, vyateguwe n’abahinga, ngo bibe ku minara+ no mu mfuruka, kugira ngo birase imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko ukuba rurangiranwa kwiwe+ kurakwiragira gushika kure, kuko yafashijwe mu buryo bw’agatangaza gushika akomeye.

16 Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone+ gushika n’aho yikwegera akarambaraye+, ku buryo ahemuka kuri Yehova Imana yiwe akinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+. 17 Ubwo nyene Azariya umuherezi ari kumwe n’abaherezi ba Yehova, abagabo mirongo umunani b’intwari, binjira inyuma yiwe. 18 Maze bahagurukira Uziya umwami+, bamubwira bati: “Ewe Uziya, si igikorwa cawe+ guturirira Yehova imibavu, ahubwo guturira imibavu ni igikorwa c’abaherezi bene Aroni+, abejejwe. Sohoka uve aheranda, kuko wahemutse, kandi ivyo nta buninahazwa+ buvuye kuri Yehova Imana biguhesha.”

19 Mugabo Uziya ararakara+ mu gihe mu kuboko kwiwe hari icotezo+ c’imibavu kugira aturire imibavu, maze akirakariye abaherezi, imibembe+ isesa+ mu ruhanga rwiwe imbere y’abaherezi mu nzu ya Yehova, iruhande y’igicaniro c’imibavu. 20 Azariya umukuru w’abaherezi n’abaherezi bose ngo bahindukire kumuraba, baza babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga+! Nuko bamukura ng’aho banyaragasa, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamukubise+.

21 Uziya+ umwami aguma ari umunyamibembe gushika umusi yapfiriyeko; aguma aba mu nzu kanaka ari umunyamibembe+, yakuweko amabanga; kuko yari yaratandukanijwe n’inzu ya Yehova, mu gihe Yotamu umuhungu wiwe ari we yagaba inzu y’umwami, agacira imanza abanyagihugu.

22 Ibisigaye mu vya Uziya+, ivya mbere n’ivya nyuma, Yesaya+ mwene Amozi+, umuhanuzi, yaravyanditse. 23 Amaherezo Uziya aryama hamwe na ba sekuruza; bamuhamba rero hamwe na ba sekuruza biwe, mugabo mw’itongo ryo guhambamwo ry’abami+, kuko bavuga bati: “Ni umunyamibembe.” Nuko Yotamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

27 Yotamu+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha+ umukobwa wa Zadoki. 2 Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Uziya se wiwe yari yarakoze vyose+. Gusa, we ntiyavogera urusengero rwa Yehova+. Ariko abantu bari bagikora ibintu bikwega guhona+. 3 Ni we yubatse irembo ryo haruguru+ ry’inzu ya Yehova, yubaka n’ibintu vyinshi ku ruhome rw’i Ofeli+. 4 Yubaka ibisagara+ mu karere k’imisozi ka Yuda+, yubaka no mu mashamba+ ibibanza bikingijwe ibihome+ be n’iminara+. 5 Ni we yarwanije bene Amoni+, amaherezo abarusha inkomezi, ku buryo bene Amoni bamuha muri uwo mwaka italanto ijana z’ifeza, n’ingero ibihumbi cumi za koro*+ z’ingano+, n’ingero ibihumbi cumi za koro za sayiri+. Ivyo ni vyo bene Amoni bamurishe, be no mu mwaka ugira kabiri no mu wugira gatatu+. 6 Gutyo Yotamu aguma yikomeza, kuko yategura inzira ziwe imbere ya Yehova Imana yiwe+.

7 Nayo ibisigaye mu vya Yotamu+ n’intambara ziwe zose n’inzira ziwe, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli n’aba Yuda. 8 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu+. 9 Amaherezo Yotamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+. Nuko Ahazi+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

28 Ahazi+ yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu+, ntiyakora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova nka Dawidi sekuruza+. 2 Mugabo agendera mu nzira z’abami ba Isirayeli+, mbere akora ibishushanyo vya za Bayali+ mu cuma gishongeshejwe+. 3 We ubwiwe afumbisha umwotsi w’ibimazi+ mu mubande wa mwene Hinomu+ atangura no guturirira abahungu biwe+ mu muriro, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+. 4 Kandi yama ashikana ibimazi+ akongera agafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+ no ku mirambi+ no munsi y’ubwoko bwose bw’igiti gitotahaye+.

5 Ku bw’ivyo Yehova Imana yiwe amutanga mu kuboko+ kw’umwami wa Siriya+, ku buryo bamukubita, bagakura iwe imbohe nyinshi bakazijana i Damasiko+. Vyongeye, atangwa mu kuboko kw’umwami wa Isirayeli+, ku buryo amukubitisha ugusasika gukomeye. 6 Nuko Peka+ mwene Remaliya+ yica muri Yuda abantu ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku musi umwe, bose bakaba bari abagabo b’intwari, kuko bari bahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo. 7 Vyongeye, Zikiri umugabo w’umunyenkomezi wo muri Efurayimu+, yica Mayaseya umuhungu w’umwami na Azirikamu indongozi y’urugo na Elikana uwagira kabiri ku mwami. 8 N’ikindi kandi, bene Isirayeli bagira imbohe abantu ibihumbi amajana abiri bo muri bene wabo, abagore, abahungu n’abakobwa; vyongeye, babasahura isahu ryinshi, hanyuma bajana nya sahu i Samariya+.

9 Kandi ng’aho hari umuhanuzi wa Yehova yitwa Odedi. Arasohoka rero aja imbere y’ingabo zari zije i Samariya, azibwira ati: “Ehe, ubushangashirwe+ Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yagiriye Yuda ni bwo bwatumye ibatanga mu kuboko kwanyu, mwica abantu muri bo mubigiranye ubushangashirwe+ bwaduze gushika mu majuru+. 10 Ubu na ho abahungu ba Yuda n’aba Yeruzalemu mugomba kubigirira abasuku+ n’abasukukazi. Yamara none, muri mwebwe ubwanyu nta vyaha bihari bibagīra kuri Yehova Imana yanyu? 11 Ubu rero nimunyumvirize, imbohe mwafashe muri bene wanyu muzisubize+, kuko ishavu rirurumba rya Yehova riri kuri mwebwe+.”

12 Nuko abagabo bamwe bo mu bakuru+ ba bene Efurayimu+, ari bo Azariya mwene Yehohanani na Berekiya mwene Meshilemoti na Yehizikiya mwene Shalumu na Amasa mwene Hadilayi, bahagurukira abari baje bavuye mw’isekeza rya gisirikare, 13 bababwira bati: “Ntimuzane izo mbohe ng’aha, kuko ivyo bizotuma twagirwa n’icaha kuri Yehova. Mugomba kwongereza ibicumuro vyacu n’ivyaha vyacu, kuko ivyaha dufise ari vyinshi+ kandi Isirayeli ikaba ifitiwe ishavu rirurumba+.” 14 Nuko nya bagabo bafise ibirwanisho+ basiga nya mbohe+ na nya sahu imbere y’abaganwa+ n’ishengero ryose. 15 Maze abantu bari bavuzwe amazina+ barahaguruka, bafata nya mbohe, kandi abo muri zo bari gusa babambika izivuye muri nya sahu. Nuko barabambika+, babaronsa inkweto* bongera barabagaburira+, babaha n’ivyo banywa+, baraheza babasiga amavuta. Vyongeye, abayumbayumba bose babatwara+ ku ndogobwa maze babajana i Yeriko+, igisagara c’ibigazi+, iruhande ya bene wabo. Hanyuma basubira i Samariya+.

16 Ico gihe Umwami Ahazi+ atuma ku bami ba Ashuri+ ngo bamutabare. 17 Nuko Abanyedomu+ bongera kuza, batangura gusasika Yuda maze batwara imbohe. 18 Nayo Abafilisitiya+, bagaba igitero ku bisagara vyo muri Shefela*+ n’i Negebu+ ha Yuda maze bafata Beti-shemeshi+ na Ayaloni+ na Gederoti+ na Soko+ n’ibisagara bihakukira na Timuna+ n’ibisagara bihakukira na Gimuzo n’ibisagara bihakukira; hanyuma babayo. 19 Nkako Yehova yaracisha bugufi+ Yuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli, kuko uno yareka ukwirekura kukongerekana muri Yuda+, kandi hakaba hari uguhemukira Yehova bikomeye.

20 Amaherezo Tilugati-piluneseri+ umwami wa Ashuri aza kumutera maze amuteza amarushwa+, ntiyamukomeza. 21 Kuko Ahazi yakovye inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+ n’iz’abaganwa+, gutyo agaha ingabirano umwami wa Ashuri+; mugabo ivyo nta co vyamufashije. 22 Ariko mu gihe yariko amuteza amarushwa, arushiriza guhemuka kuri Yehova, uwo na we akaba ari Umwami Ahazi+. 23 Atangura gushikanira ibimazi imana+ za Damasiko+ zariko zimukubita, akaguma avuga ati: “Kubera ko imana z’abami ba Siriya ziriko zirabatabara+, hinge ndazishikanire ibimazi kugira zintabare+.” Mugabo zino ziba ari zo zimubera igitsitaza, we na Isirayeli yose+. 24 Vyongeye, Ahazi akoraniriza hamwe ibikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, atemagura ivyo bikoresho vyo mu nzu y’Imana y’ukuri+, yugara imiryango+ y’inzu ya Yehova, araheza yiyubakira ibicaniro mu mfuruka zose z’i Yeruzalemu+. 25 Kandi mu bisagara vyose, egome, ibisagara vya Yuda, akora ibibanza bikirurutse+ kugira afumbishirize umwotsi w’ibimazi izindi mana+, gutyo ababaza+ Yehova Imana ya ba sekuruza biwe.

26 Nayo ibisigaye mu vyiwe+ n’inzira ziwe zose, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda n’aba Isirayeli. 27 Amaherezo Ahazi aryama hamwe na ba sekuruza, hanyuma bamuhamba mu gisagara, i Yeruzalemu, kuko batamwinjije mu mva z’abami ba Isirayeli+. Nuko Hezekiya umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

29 Hezekiya+ yabaye umwami afise imyaka mirongo ibiri n’itanu, maze amara imyaka mirongo ibiri n’icenda aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abiya umukobwa wa Zekariya+. 2 Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Dawidi sekuruza yari yarakoze vyose+. 3 Ni we yuguruye mu mwaka wa mbere w’ingoma yiwe, mu kwezi kwa mbere, imiryango y’inzu ya Yehova hanyuma atangura kuyisanasana+. 4 Maze azana abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza mu kibanza co hanze+ amaja mu buseruko. 5 Hanyuma ababwira ati: “Nimunyumvirize, yemwe Balewi. Nimwiyeze+ rero mwongere mweze inzu ya Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, maze musohore ikintu gihumanye mugikure ahantu heranda+. 6 Kuko ba data bahemutse+, bagakora ivyari bibi mu maso ya Yehova Imana yacu+, ku buryo bamuhevye+, bagakura amaso yabo kw’itaberenakulo ya Yehova+, bakamuha ibitugu. 7 Mbere barugaye imiryango+ y’ibaraza kandi baguma bazimije amatara+, ntibaturira imibavu+ kandi Imana ya Isirayeli ntibayishikanira ikimazi giturirwa ahantu heranda+. 8 Maze uburakari+ bwa Yehova buza kuri Yuda na Yeruzalemu, ku buryo abagira akajugumiza+ akabagira n’akajoreza+ be n’abo kuvugiriza agahwa+, nk’uko muvyibonera n’amaso yanyu. 9 None ehe ba sogokuruza bacu baragwishijwe n’inkota+, kandi abahungu bacu n’abakobwa bacu n’abagore bacu baragizwe imbohe kubera ico+. 10 Ubu, mfise icipfuzo mu mutima wanje co kugirana isezerano+ na Yehova Imana ya Isirayeli, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba rituveko. 11 None rero bana banje, ntimwihe akaruhuko+, kuko ari mwebwe Yehova yatoye ngo muhagarare imbere yiwe kugira ngo mumukorere+ no kugira ngo mubandanye kuba abasuku biwe+ n’abamufumbishiriza umwotsi w’ibimazi+.”

12 Abalewi+ baca barahaguruka, Mahati mwene Amasayi na Yoweli mwene Azariya bo mu bahungu b’Abakohati+; muri bene Merari+ hahaguruka Kishi mwene Abudi na Azariya mwene Yehaleleli; mu Bagerishoni+ hahaguruka Yowa mwene Zima na Edeni mwene Yowa; 13 muri bene Elizafani+ hahaguruka Shimuri na Yehuweli; muri bene Asafu+ hahaguruka Zekariya na Mataniya; 14 muri bene Hemani+ hahaguruka Yehiyele na Shimeyi; muri bene Yedutuni+ na ho hahaguruka Shemaya na Uziyeli. 15 Maze bakoraniriza hamwe bene wabo, bariyeza+ hanyuma baraza nk’uko ibwirizwa ry’umwami ryari+, bisunze amajambo ya Yehova, kugira ngo bahumanure+ inzu ya Yehova. 16 Nuko abaherezi binjira mu nzu ya Yehova kugira ngo bakore igikorwa c’uguhumanura, maze basohora imicafu yose basanze mu rusengero rwa Yehova bayishira mu kigo+ c’inzu ya Yehova. Abalewi na bo barayakira kugira bayijane mu mwonga Kidironi+ hanze. 17 Gutyo batangura iryo yeza ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maze ku musi ugira umunani w’ukwo kwezi bashika kw’ibaraza+ rya Yehova; ku buryo beza inzu ya Yehova mu misi umunani, maze ku musi ugira cumi na gatandatu w’ukwezi kwa mbere+ bararangiza.

18 Inyuma y’ivyo binjira indani aho Hezekiya umwami ari hanyuma bavuga bati: “Twahumanuye inzu ya Yehova yose, n’igicaniro+ c’ishikanwa riturirwa be n’ibikoresho vyaco vyose+, n’imeza+ y’imikate igerekeranye be n’ibikoresho vyayo vyose+. 19 Ibikoresho vyose+ Umwami Ahazi+ yari yarakuye mu gikorwa mu gihe c’ingoma yiwe mu buhemu bwiwe+ twabiteguye twongera turavyeza+; ehe biri imbere y’igicaniro ca Yehova.”

20 Nuko Hezekiya+ umwami avyuka kare+ maze akoraniriza hamwe abaganwa+ b’igisagara hanyuma aduga ku nzu ya Yehova. 21 Bazana amashūri indwi+, n’impfizi z’intama indwi, n’imyagazi y’intama y’amasuguru indwi, n’amasuguru y’impene indwi, bwa shikanwa ry’igicumuro+ ku bw’ubwami no ku bw’aheranda no ku bwa Yuda. Nuko abwira bene Aroni abaherezi+ ngo babishikane ku gicaniro ca Yehova. 22 Bakerera+ rero nya nka, maze abaherezi bakira amaraso+ bayamijagira+ ku gicaniro; hanyuma bakerera nya mpfizi z’intama+ maze bamijagira amaraso+ ku gicaniro, bakerera na nya myagazi y’intama y’amasuguru maze bamijagira amaraso ku gicaniro. 23 Maze nya masuguru y’impene+ y’ishikanwa ry’igicumuro bayegeza hafi imbere y’umwami n’ishengero hanyuma bayarambikako ibiganza+. 24 Nuko abaherezi barayakerera, bashikana ku gicaniro ishikanwa ry’igicumuro bakoresheje amaraso yayo, kugira batangire impongano* Isirayeli yose+; kuko umwami yari yavuze ko ishikanwa riturirwa be n’ishikanwa ry’igicumuro bitangirwa+ Isirayeli yose+.

25 Muri ico gihe, ashira Abalewi+ mu nzu ya Yehova, bafise ivyuma bisāma+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+, nk’uko vyategetswe na Dawidi+ na Gadi+ umubonyi w’umwami be na Natani+ umuhanuzi, kuko iryo bwirizwa ryari ryatanzwe n’ukuboko kwa Yehova biciye ku bahanuzi biwe+. 26 Abalewi baguma rero bahagaze bafise ibicurarangisho+ vya Dawidi, be n’abaherezi, bafise inzumbete+.

27 Maze Hezekiya avuga ko hashikanwa ku gicaniro ikimazi giturirwa; ishikanwa riturirwa ngo ritangure, ururirimbo+ rwa Yehova ruca ruratangura n’inzumbete nyene, ziyobowe n’ibicurarangisho vya Dawidi umwami wa Isirayeli. 28 Ishengero ryose ryari ryunamye+ mu gihe ururirimbo rwariko rusamirana+, inzumbete na zo zasirana—ivyo vyose birabandanya gushika ishikanwa riturirwa rirangiye. 29 Bakimara kurangiza kurishikana, umwami n’abari kumwe na we bose barunama, bakubita inkoro hasi+. 30 Nuko Hezekiya umwami n’abaganwa+ babwira Abalewi ngo bashemeze Yehova mu majambo ya Dawidi+ n’aya Asafu+ umubonyi. Batangura rero kumushemeza banezerewe+, baguma bunamye, bakubise inkoro hasi+.

31 Amaherezo Hezekiya yishura ati: “Ubu rero murujuje+ ukuboko kwanyu ububasha ku bwa Yehova. Nimwegere, muzane ku nzu ya Yehova ibimazi+ be n’ibimazi vy’ugukenguruka+.” Nuko ishengero ritangura kuzana ibimazi be n’ibimazi vy’ugukenguruka, kandi umuntu wese w’umutima ukunze azana amashikanwa aturirwa+. 32 Igitigiri c’amashikanwa aturirwa ishengero ryazanye kiba inka mirongo irindwi, impfizi z’intama ijana n’imyagazi y’intama y’amasuguru amajana abiri—ivyo vyose vyari ishikanwa riturirwa rihabwa Yehova+; 33 amashikanwa meranda na yo aba inka amajana atandatu n’ibitungwa ibihumbi bitatu vyo mu mukuku. 34 Ariko abaherezi+ baba bake cane, ntibashobora gukura urushato ku mashikanwa aturirwa yose+. Nuko bene wabo+, ari bo Balewi, barabafasha gushika igikorwa kirangiye+ no gushika abaherezi biyejeje+, kuko Abalewi bari barajwe ishinga cane+ no kwiyeza kuruta abaherezi. 35 Vyongeye, amashikanwa aturirwa+ yari menshi be n’ibikenye binuze+ vy’ibimazi vy’ugusangira+ be n’amashikanwa y’ikinyobwa+ aherekeza amashikanwa aturirwa. Ukwo ni ko igikorwa c’inzu ya Yehova categuwe+. 36 Nuko Hezekiya n’abantu bose banezerezwa n’uko Imana y’ukuri yari yagiriye abantu imyiteguro+, kuko ico kintu cari cabaye giturumbuka+.

30 Nuko Hezekiya atuma kuri Isirayeli yose+ na Yuda, mbere yandikira amakete Efurayimu+ na Manase+, ngo baze ku nzu ya Yehova+ i Yeruzalemu kugira bahimbarize pasika*+ Yehova Imana ya Isirayeli. 2 Ariko umwami n’abaganwa biwe+ be n’ishengero ryose+ i Yeruzalemu biyemeza guhimbaza pasika mu kwezi kugira kabiri+; 3 kuko batari bashoboye kuyihimbaza ico gihe+, kubera ko ku ruhande rumwe ata baherezi bahagije+ bari biyejeje, ku rundi ruhande na ho abantu batari bakoraniye i Yeruzalemu. 4 Ico kintu kiba ikibereye mu maso y’umwami no mu maso y’ishengero ryose+. 5 Bafata rero ingingo y’uko haterwa akamo+ muri Isirayeli yose, kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+, kugira baze guhimbariza pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu; kuko batari babigize ari benshi+, nk’uko vyanditswe+.

6 Nuko abirutsi+ bafise amakete avuye mu kuboko kw’umwami n’ukw’abaganwa biwe+ bakwiragira muri Isirayeli yose na Yuda, egome, bisunze ibwirizwa ry’umwami, kugira ngo bavuge bati: “Yemwe bene Isirayeli, nimugaruke+ kuri Yehova Imana+ ya Aburahamu na Izahaki na Isirayeli, kugira ngo agaruke ku basigaye muri mwebwe bakize+ ikiganza c’abami ba Ashuri+. 7 Ntimube nka ba sogokuruza banyu+ na bene wanyu bahemutse kuri Yehova Imana ya ba sekuruza babo, ku buryo abagira akajoreza+, nk’uko muvyibonera. 8 None rero ntimudadaze izosi+ nk’uko ba sogokuruza banyu bagize. Nimworohere Yehova+, muze aheranda hiwe+ yejeje+ gushika igihe kitagira urugero, mukorere+ Yehova Imana yanyu, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba+ ribaveko. 9 Kuko nimwagaruka+ kuri Yehova, bene wanyu n’abana banyu bazoba abo kwumvirwa imbabazi+ imbere y’ababagize imbohe, maze bemererwe kugaruka muri iki gihugu+; kuko Yehova Imana yanyu ari umunyempuhwe+ n’umunyembabazi+, kandi ntazobakurako amaso nimwamugarukako+.”

10 Nuko nya birutsi+ barabandanya, bava mu gisagara baja mu kindi mu gihugu cose ca Efurayimu+ na Manase, egome, gushika muri Zebuloni; mugabo baguma babashinyagurira bongera babatwengera mw’ijigo+. 11 Abantu+ bo muri Asheri na Manase no muri Zebuloni ni bo gusa bicishije bugufi+ baza i Yeruzalemu. 12 Ukuboko kw’Imana y’ukuri kuba no muri Yuda kugira kubahe umutima umwe+ ngo bashitse ibwirizwa+ ry’umwami n’abaganwa ku bijanye n’ibintu vya Yehova+.

13 Nuko bakoranira hamwe i Yeruzalemu+, ari abantu benshi, kugira bahimbaze umusi mukuru+ w’udutsima tutarimwo umwambiro mu kwezi kugira kabiri+, ari ishengero ryinshi cane. 14 Maze barahaguruka, bakuraho ibicaniro+ vyari i Yeruzalemu, bakuraho n’ibicaniro+ vyose vy’imibavu baraheza babiterera mu mwonga Kidironi+. 15 Inyuma y’ivyo bakerera imbagwa ya pasika+ ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kugira kabiri; abaherezi n’Abalewi bari bacishijwe bugufi ku buryo biyeza+ maze bakazana mu nzu ya Yehova amashikanwa aturirwa. 16 Nuko baguma bahagaze+ mu kibanza cabo nk’uko ingingo yabo yari, bisunze itegeko rya Musa umuntu w’Imana y’ukuri, abaherezi+ bakamijagira amaraso bahawe n’Abalewi. 17 Kuko mw’ishengero hari benshi batari biyejeje; kandi Abalewi+ bari bajejwe gukerera imbagwa za pasika+ ku bw’abari bahumanye bose, kugira babereze Yehova. 18 Kuko benshi mu bantu, benshi bo muri Efurayimu+ na Manase+ na Isakari na Zebuloni+, batari bihumanuye+, kuko batariye pasika nk’uko vyanditswe+; mugabo Hezekiya arabasengera+, ati: “Yehova ubwiwe, we mwiza+, agirire imbabazi 19 umuntu wese yateguriye umutima wiwe+ kurondera Imana y’ukuri, Yehova, Imana ya ba sekuruza biwe, naho atoba yityoroye ku bw’ivyeranda+.” 20 Nuko Yehova yumviriza Hezekiya, akiza abantu+.

21 Bene Isirayeli bari i Yeruzalemu bahimbaza rero umusi mukuru+ w’udutsima tutarimwo umwambiro mu kiringo c’imisi indwi banezerewe cane+; Abalewi+ n’abaherezi+ baguma bashemeza Yehova ku musi ku musi bakoresheje ibicurarangisho bivuga cane, egome, bashemeza Yehova+. 22 Vyongeye, Hezekiya aremesha+ Abalewi bose bariko bakorana ukwiyubara kwiza mu gikorwa ca Yehova+. Nuko bamara imisi indwi barya ivy’uwo musi mukuru washinzwe+, bashikana ibimazi vy’ugusangira+ bongera bâturira ibicumuro vyabo+ Yehova Imana ya ba sekuruza babo.

23 Maze ishengero ryose rifata ingingo+ yo kuwuhimbaza n’iyindi misi ndwi+, gutyo bawuhimbaza imisi indwi banezerewe. 24 Kuko Hezekiya umwami wa Yuda ubwiwe yaterereye+ ku bw’ishengero amashūri igihumbi n’intama ibihumbi indwi, abaganwa+ na bo bagaterera ku bw’ishengero amashūri igihumbi n’intama ibihumbi cumi; maze abaherezi+ baguma biyeza ari benshi. 25 Nuko ishengero ryose rya Yuda+, n’abaherezi, n’Abalewi+, n’ishengero ryose ryari ryavuye muri Isirayeli+, na ba kavamahanga+ bari bavuye mu gihugu ca Isirayeli+, n’ababa muri Yuda, babandanya kunezerwa+. 26 Haba umunezero mwinshi i Yeruzalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo+ mwene Dawidi umwami wa Isirayeli hatari harigeze kuba ibimeze nk’ivyo i Yeruzalemu+. 27 Amaherezo abaherezi, Abalewi, barahaguruka hanyuma bahezagira+ abantu; nuko Imana yumva ijwi ryabo, ku buryo isengesho ryabo rishika ahantu heranda iba, mu majuru+.

31 Bakirangiza ivyo vyose, Abisirayeli bose+ bari ng’aho barasohoka baja mu bisagara vya Yuda+, maze batangura kumenagura inkingi nyeranda+ no kwicira ibikingi vyeranda+ no gusiturira hasi ibibanza bikirurutse+ n’ibicaniro+ muri Yuda yose+ na Benyamini, no muri Efurayimu+ na Manase+, gushika barangije; hanyuma bene Isirayeli bose bagaruka mu bisagara vyabo, umwe wese kw’itongo ryiwe.

2 Maze Hezekiya ashiraho imice+ y’abaherezi n’iy’Abalewi+ akurikije imice yabo, umwe wose nk’uko igikorwa cawo kigenewe abaherezi+ n’Abalewi+ kiri ku bijanye n’ishikanwa riturirwa+ be n’ibimazi vy’ugusangira+ ngo bakore igikorwa+, bakengurukire Imana+ bongere bayishemeze+ mu marembo y’ibigo vya Yehova. 3 Kandi hari umugabane w’umwami uvuye ku bintu vyiwe+ ugenewe amashikanwa aturirwa+, amashikanwa aturirwa yo mu gitondo+ no ku mugoroba, be n’amashikanwa aturirwa agenewe amasabato+ n’imboneko z’ukwezi+ n’ibiringo vy’imisi mikuru+, hisunzwe ivyanditswe mw’itegeko rya Yehova+.

4 Vyongeye, abwira abantu, ababa i Yeruzalemu, ngo batange umugabane w’abaherezi+ n’uw’Abalewi+, kugira ngo bumire+ rwose kw’itegeko rya Yehova+. 5 Iryo jambo rikimara gukwiragira, bene Isirayeli+ bongereza umushuzo w’intete+, umuvinyu mushasha+, n’amavuta+ n’ubuki+ n’umwimbu wose w’umurima+, hanyuma bazana ic’icumi c’ibintu vyose ku bwinshi+. 6 Bene Isirayeli na bene Yuda baba mu bisagara vya Yuda+, na bo nyene bazana ic’icumi c’inka n’intama n’ic’icumi c’ibintu vyeranda+, ibintu vyerejwe Yehova Imana yabo. Barabizana, gutyo batanga ibirundo n’ibirundo. 7 Mu kwezi kugira gatatu+, batangura kurunda nya birundo mu gushiraho igice co hasi, maze barangiza mu kwezi kugira indwi+. 8 Aho Hezekiya n’abaganwa+ baziye bakabona nya birundo, batangura guhezagira+ Yehova n’abantu biwe Isirayeli+.

9 Mu nyuma, Hezekiya abaza abaherezi n’Abalewi ivya nya birundo+. 10 Maze Azariya+ umukuru w’abaherezi wo mu nzu ya Zadoki+ aramubwira, egome, avuga ati: “Kuva igihe batanguriye kuzana intererano+ mu nzu ya Yehova abantu bagiye bararya bagahaga+, hakagira n’ibisaguka vyinshi+; kuko Yehova yahezagiye abantu biwe+, kandi uwu mukimba wose ni ivyasigaye.”

11 Hezekiya aca avuga ko bategura ivyumba vy’uburiro+ mu nzu ya Yehova. Nuko barabitegura. 12 Baguma bazana intererano+ n’ic’icumi+ n’ibintu vyeranda babigiranye ubwizigirwa+; Konaniya Umulewi ni we yari indongozi ijejwe ivyo bintu, Shimeyi mwene wabo na we akaba uwugira kabiri. 13 Yehiyele na Azaziya na Nahati na Asaheli na Yerimoti na Yozabadi na Eliyeli na Isimakiya na Mahati na Benaya bari ivyariho vyafasha Konaniya na Shimeyi mwene wabo, nk’uko itegeko rya Hezekiya umwami ryari, Azariya+ akaba yari indongozi y’inzu y’Imana y’ukuri. 14 Kore mwene Imuna Umulewi yari umurinzi w’irembo+ mu buseruko+, akaba yari ajejwe amashikanwa atangwa ku bushake+ y’Imana y’ukuri, kugira atange intererano za Yehova+ n’ibintu vyeranda rwose+. 15 Uno yagaba Edeni na Miniyamini na Yeshuwa na Shemaya na Amariya na Shekaniya, mu bisagara vy’abaherezi+, mw’ibanga ry’ubwizigirwa+, kugira bahe bene wabo bo mu mice+, bagatanga ibingana ku wuhambaye no ku muto+; 16 uretse abanditswe muri bo hisunzwe amamuko+ b’igitsina-gabo, kuva ku myaka itatu kuduga+, mu baza ku nzu ya Yehova bose nk’uko vyabwirizwa kugirwa ku musi ku musi, bazanywe n’igikorwa cabo, hakurikijwe ivyo bajejwe, nk’uko imice yabo iri.

17 Iri ni ryo yandikwa rifatiye ku mamuko ry’abaherezi hakurikijwe inzu ya ba se+ be n’iry’Abalewi+, kuva ku myaka mirongo ibiri+ kuduga, hisunzwe ivyo bajejwe mu mice yabo+; 18 ku bw’abanditswe hakurikijwe amamuko mu bana babo batoyi bose, mu bagore babo no mu bahungu babo no mu bakobwa babo, ku bw’ishengero ryose, kuko mw’ibanga ry’ubwizigirwa ryabo+ biyejereje+ icari ceranda; 19 no ku bwa bene Aroni+, ari bo baherezi, baba mu mirima+ y’amatongo y’uburagiriro y’ibisagara vyabo. Mu bisagara bitandukanye vyose hari abagabo bari baravuzwe amazina, kugira ngo bahe imigabane uw’igitsina-gabo wese mu baherezi no kugira ngo bayihe abanditswe bose hakurikijwe amamuko mu Balewi.

20 Hezekiya atangura gukora gutyo muri Yuda hose, kandi abandanya gukora ivyari vyiza+, bigororotse+ kandi vy’ubwizigirwa+ imbere ya Yehova Imana yiwe. 21 Kandi mu murimo wose yatanguye gukora ku bijanye n’igikorwa+ co ku nzu y’Imana y’ukuri no ku bijanye n’itegeko+ be no ku bijanye n’ibwirizwa kugira arondere+ Imana yiwe, yakoranye umutima wiwe wose+, kandi araroranirwa+.

32 Inyuma y’ivyo bintu n’iyo ngendo y’ubwizigirwa+, Senakeribu+ umwami wa Ashuri+ araza maze atangura gushwara Yuda hanyuma arakambika ngo atere ibisagara bikingijwe ibihome+; aguma yiyumvira kuvyigarurira mu kubicamwo igihengeri.

2 Hezekiya abonye ko Senakeribu aje yiyemeje+ kurwanya Yeruzalemu, 3 aca afata ingingo hamwe n’abaganwa biwe+ n’abagabo b’abanyenkomezi biwe, yo kuzibira amazi y’imbizi yari hanze y’igisagara+; nuko bano baramufasha. 4 Maze abantu benshi bakoranirizwa hamwe, batangura kuzibira amasôko yose be n’uruzi rw’isumo+ rutembera hagati mu gihugu, bavuga bati: “Kubera iki abami ba Ashuri boza bagasangaho koko amazi menshi?”

5 Vyongeye, agira umutima rugabo, yubaka uruhome rwose rwari rwarasenyuwe+ yongera aduza iminara+ kuri rwo, yubaka n’urundi ruhome+ hanze; asanasana Ikidunduri+ co mu Gisagara ca Dawidi, akora n’ibirwanisho vyinshi batera+, be n’inkinzo+. 6 Nuko ashiraho abakuru ba gisirikare+ bo kugaba abantu, maze abegeraniriza kuri we mu kibanza ca bose+ co kw’irembo ry’igisagara, abaremesha+ ati: 7 “Gire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntimutinye+ canke ngo mutekerwe n’ubwoba+ kubera umwami wa Ashuri+ no kubera isinzi ryose riri kumwe na we+; kuko abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na we. 8 We ari kumwe n’ukuboko kw’abantu buntu+, mugabo twebwe turi kumwe na Yehova Imana yacu kugira ngo adutabare+ no kugira arwane intambara zacu+.” Nuko abantu bishimikiza amajambo ya Hezekiya umwami wa Yuda+.

9 Inyuma y’ivyo ni ho Senakeribu+ umwami wa Ashuri yatuma abasuku biwe i Yeruzalemu, mu gihe yari i Lakishi+ ari kumwe n’ingabo ziwe zose+, abatuma kuri Hezekiya umwami wa Yuda no ku Banyayudaya bose bari i Yeruzalemu, ati:

10 “Ibi ni vyo Senakeribu umwami wa Ashuri avuze+: ‘Mwizigiye iki aho mwicaye mutekanye, kandi musugerejwe i Yeruzalemu+? 11 Mbega Hezekiya+ ntariko arabahendahenda+ kugira ngo abatange mwicwe n’ikigoyi n’inyota, mu kuvuga ngo: “Yehova Imana yacu ubwiwe azoturokora mu kiganza c’umwami wa Ashuri+”? 12 Mbega Hezekiya ubwiwe si we yakuyeho ibibanza vyiwe bikirurutse+ n’ibicaniro vyiwe+ maze akabwira Yuda na Yeruzalemu ngo: “Muze mwuname+ imbere y’igicaniro kimwe+ kandi kuri co abe ari ho muzofumbishiriza umwotsi w’ibimazi+”? 13 Mbega ntimuzi ivyo jewe ubwanje na ba sogokuruza banje twagiriye ibisata vyose vy’ibihugu+? Mbega imana+ z’amahanga y’ivyo bihugu zarashoboye na gato kurokora igihugu cazo mu kuboko kwanje? 14 Ni iyihe mu mana zose z’ayo mahanga ba sogokuruza banje batikije yashoboye kurokora abantu bayo mu kuboko kwanje, ku buryo Imana yanyu yoshobora kubarokora mu kuboko kwanje+? 15 None rero, Hezekiya ntabahende+ canke ngo abahendahende+ gutyo, kandi ntimumwizigire, kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye kurokora abantu bayo mu kuboko kwanje no mu kuboko kwa ba sogokuruza banje. Imana yanyu yoyo ntizogeza kubarokora mu kuboko kwanje+!’”

16 Abasuku biwe bongera gutuka Yehova Imana y’ukuri+ na Hezekiya umusavyi wayo. 17 Mbere yandika n’amakete+ yo gusiga iceyi Yehova Imana ya Isirayeli+ no kuyituka, ati: “Nk’uko imana+ z’amahanga y’ibihugu zitarokoye abantu bazo mu kuboko kwanje+, ni ko n’Imana ya Hezekiya itazorokora abantu bayo mu kuboko kwanje.” 18 Baguma+ bahamagara n’ijwi rirenga+ mu rurimi rw’Abayuda+ abantu b’i Yeruzalemu bari ku ruhome, ngo babatere ubwoba+ bongere babahagarike umutima, kugira ngo bafate nya gisagara. 19 Babandanya gutuka+ Imana ya Yeruzalemu+ nk’uko batutse imana z’ibisata vy’abantu vyo kw’isi, izakozwe n’amaboko y’umuntu+. 20 Mugabo Hezekiya+ umwami na Yesaya+ mwene Amozi+, umuhanuzi+, baguma basenga ku bw’ico kintu+ bongera batabaza amajuru+.

21 Nuko Yehova arungika umumarayika+, azimanganya abagabo bose b’intwari kandi b’abanyenkomezi+, n’indongozi n’abakuru mw’ikambi y’umwami wa Ashuri+, ku buryo asubira mu gihugu ciwe n’ibimaramare mu maso. Mu nyuma yinjira mu nzu y’imana yiwe, maze ng’aho bamwe mu bo yari yarivyariye bamwicisha inkota+. 22 Gutyo Yehova akiza Hezekiya n’ababa i Yeruzalemu abakuye mu kuboko kwa Senakeribu umwami wa Ashuri+ no mu kuboko kw’abandi bose, hanyuma abaha akaruhuko impande zose+. 23 Maze abantu benshi bazanira amaturo+ Yehova i Yeruzalemu, bazanira n’ibintu vyizavyiza Hezekiya umwami wa Yuda+, inyuma y’ivyo ashirwa hejuru+ mu maso y’amahanga yose.

24 Muri iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+, maze atangura gusenga+ Yehova. Uno avugana rero na Hezekiya+, amuha n’ikimenyetso+. 25 Mugabo Hezekiya ntiyishura ivyiza yagiriwe+, kuko umutima wiwe wagize ubwibone+ bigatuma arakarirwa+, we na Yuda na Yeruzalemu. 26 Ariko Hezekiya yicisha bugufi+ areka ubwibone bwo mu mutima wiwe, we n’ababa i Yeruzalemu, maze uburakari bwa Yehova ntibwaza kuri bo mu misi ya Hezekiya+.

27 Nuko Hezekiya agira ubutunzi n’ubuninahazwa ku rugero runini cane+; yiyubakira ibigega vyo gushiramwo ifeza n’inzahabu+ n’amabuye y’agaciro+ n’amavuta y’umusomozo+ n’inkinzo+ be n’ibintu vyose bihimbaye+; 28 yubaka n’ububiko+ bwo gushiramwo umwimbu w’intete n’umuvinyu mushasha+ n’amavuta, hamwe n’impongore+ z’ubwoko bwose butandukanye bw’ibitungwa, be n’impongore z’amasho. 29 Yironsa n’ibisagara, be n’ibitungwa vyinshi vyo mu mukuku+ n’ivyo mu busho+; kuko Imana yamuhaye ibintu vyinshi cane+. 30 Hezekiya ni we yazibiye+ isôko ry’amazi+ ya Gihoni+ maze ayerekeza epfo mu burengero, amaja ku Gisagara ca Dawidi+; nuko Hezekiya abandanya kuroranirwa mu gikorwa ciwe cose+. 31 Nuko Imana y’ukuri iramureka+ kugira imugeze+, biciye ku bavugizi b’abaganwa ba Babiloni+ batumwe kuri we+ gusiguza ivy’ikimenyetso+ cari cabaye mu gihugu, kugira ngo imenye ivyari mu mutima wiwe vyose+.

32 Nayo ibisigaye mu vya+ Hezekiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubuntu bwuzuye urukundo+, ehe vyanditswe mu vyo Yesaya umuhanuzi mwene Amozi yeretswe+, mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda na Isirayeli. 33 Amaherezo Hezekiya aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba ku mudugo uja ku mva za bene Dawidi+; Yuda yose n’ababa i Yeruzalemu bamutera iteka ku rupfu rwiwe+. Nuko Manase+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

33 Manase+ yari afise imyaka cumi n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itanu n’itanu aganza i Yeruzalemu+.

2 Atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+. 3 Asubira rero kwubaka ibibanza bikirurutse+ Hezekiya se wiwe yari yarasituriye hasi+, kandi ashingira ibicaniro+ za Bayali+ yongera akora ibikingi vyeranda+; atangura kwunamira+ ingabo zose zo mu majuru+ no kuzikorera+. 4 Yubaka ibicaniro+ mu nzu ya Yehova, iyo Yehova yari yaravuze ku biyerekeye ati: “I Yeruzalemu ni ho izina ryanje rizoba gushika igihe kitagira urugero+.” 5 Abandanya kwubakira ibicaniro ingabo zose zo mu majuru+ mu bigo+ bibiri vy’inzu ya Yehova+. 6 Acisha abahungu biwe mu muriro+ mu mubande wa mwene Hinomu+, akora ivy’amageza+, agira ivyo kuragura+, akora ivy’ubupfumu+, ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura+ ibizoba. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze+.

7 Vyongeye, igishusho c’ikibazano+ yari yarakoze agishira mu nzu y’Imana y’ukuri+, iyo Imana yari yarabwiye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe ku biyerekeye iti: “Muri iyi nzu be n’i Yeruzalemu, aho natoye+ mu miryango yose ya Isirayeli, nzohashira izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero+. 8 Kandi sinzokwongera gukura ikirenge ca Isirayeli ku butaka nahaye+ ba sekuruza babo+, bakire gusa kwitwararika gukora ivyo nabategetse vyose+ ku vyerekeye itegeko ryose+ n’ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+ vyatanzwe biciye ku kuboko kwa Musa+.” 9 Nuko Manase+ aguma yosha Yuda+ n’ababa i Yeruzalemu ngo bakore nabi kurusha+ amahanga Yehova yari yarazimanganije imbere ya bene Isirayeli+.

10 Yehova aguma abwira Manase n’abantu biwe, mugabo ntibumviriza+. 11 Amaherezo Yehova abateza+ abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri+; nuko bafatira Manase mu myobo+, bamubohesha+ amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni. 12 Ivyo bikimara kumushira mu marushwa+, atakambira* Yehova Imana yiwe+ kandi aguma yicisha bugufi+ cane imbere y’Imana ya ba sekuruza biwe. 13 Aguma ayisenga, ku buryo Imana yemera ko ayinginga+ maze yumva ugusaba ubutoni kwiwe, imusubiza i Yeruzalemu ku ngoma yiwe+; nuko Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+.

14 Inyuma y’ivyo, yubakira Igisagara ca Dawidi+ uruhome rw’inyuma+, mu burengero bwa Gihoni+, mu mwonga no gushika kw’Irembo ry’Amafi+, araruzungurutsa gushika i Ofeli+; nuko arugira rurerure cane. Vyongeye, ashira abakuru b’inteko za gisirikare mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vyo muri Yuda+. 15 Atangura gukura imana z’inyamahanga+ na ca gishusho c’ikigirwamana+ mu nzu ya Yehova, n’ibicaniro vyose+ yari yarubatse ku musozi w’inzu ya Yehova n’i Yeruzalemu, araheza ategeka ko babita hanze y’igisagara. 16 N’ikindi kandi, ategura igicaniro ca Yehova+ maze atangura kugishikanako ibimazi vy’ugusangira+ n’ibimazi vy’ugukenguruka+, hanyuma abwira Yuda gukorera Yehova Imana ya Isirayeli+. 17 Ariko abantu bari bagishikana ibimazi ku bibanza bikirurutse+; mugabo babishikanira Yehova Imana yabo.

18 Nayo ibisigaye mu vya Manase n’isengesho yatuye+ Imana yiwe be n’amajambo y’ababonyi+ baguma bamubwira mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, ehe biri mu vy’abami ba Isirayeli+. 19 Ivy’isengesho ryiwe+, n’ukuntu ukwinginga kwiwe+ yakwishuwe, n’igicumuro ciwe cose+, n’ubuhemu bwiwe+ be n’ahantu hatandukanye yubatse ibibanza bikirurutse+ akahashinga ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ imbere y’uko yicisha bugufi+, ehe vyanditswe mu majambo y’ababonyi biwe. 20 Amaherezo Manase aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba+ iwe; nuko Amoni+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

21 Amoni+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. 22 Atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, nk’uko Manase se wiwe yari yarakoze+; Amoni ashikanira ibimazi+ ibishusho bibajwe+ vyose Manase+ se wiwe yari yarakoze, kandi abandanya kubikorera+. 23 Ntiyicisha bugufi+ imbere ya Yehova nk’uko Manase se wiwe yicishije bugufi+, kuko Amoni uwo, yatumye ukwagirwa n’icaha kwongerekana+. 24 Amaherezo abasuku biwe bamugīra umugambi mubi+ maze bamwicira mu nzu yiwe+. 25 Mugabo abanyagihugu bica+ abantu bose bari bagīriye Umwami Amoni umugambi mubi+, maze abanyagihugu+ baca bimika Yosiya+ umuhungu wiwe ngo abe umwami mu kibanza ciwe.

34 Yosiya+ yari afise imyaka umunani+ igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itatu n’umwe aganza i Yeruzalemu+. 2 Atangura gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+ kandi agendera mu nzira za Dawidi sekuruza+; ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu+.

3 Mu mwaka ugira umunani w’ingoma yiwe, igihe yari akiri agahungu+, atangura kurondera+ Imana ya Dawidi sekuruza wiwe; mu mwaka ugira cumi na kabiri na ho, atangura guhumanura+ Yuda na Yeruzalemu abikuramwo ibibanza bikirurutse+ n’ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe. 4 Vyongeye, basiturira hasi imbere yiwe ibicaniro+ vya za Bayali+; ibishirwako imibavu+ vyari hejuru arabitema biva kuri ivyo bicaniro; ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe arabimenagura abigira ifu+, maze ayimijagira ku mva z’abahora babishikanira ibimazi+. 5 Amagufa+ y’abaherezi ayaturirira ku bicaniro vyabo+. Ukwo ni ko yahumanuye Yuda na Yeruzalemu.

6 Vyongeye, mu bisagara vya Manase+ na Efurayimu+ na Simeyoni no gushika muri Nafutali, mu bibanza vyavyo vyatikijwe irya n’ino, 7 egome, atangura gusiturira hasi ibicaniro+ n’ibikingi vyeranda+; ibishusho bibajwe+ arabijanjagura abigira ifu+; ibishirwako imibavu+ vyose na vyo arabitemagura mu gihugu cose ca Isirayeli, hanyuma agaruka i Yeruzalemu.

8 Mu mwaka ugira cumi n’umunani+ w’ingoma yiwe, amaze guhumanura igihugu n’inzu, atuma Shafani+ mwene Azaliya na Mayaseya umukuru w’igisagara na Yowa mwene Yowahazi umukarani, kugira ngo basanasane+ inzu ya Yehova Imana yiwe. 9 Nuko baza kuri Hilikiya+ umuherezi mukuru maze batanga amahera yari azanywe ku nzu y’Imana, ayo Abalewi abarinzi b’imiryango+ bari begeranije avuye mu kuboko kwa Manase+ na Efurayimu+ n’ahasigaye hose muri Isirayeli+ no muri Yuda yose no muri Benyamini no mu baba i Yeruzalemu. 10 Maze bayashira mu kuboko kw’abakora igikorwa bari bagenywe ku nzu ya Yehova+. Bano na bo, abari ku gikorwa mu nzu ya Yehova, bayakoresha mu gusanura no gusanasana iyo nzu. 11 Nuko bayaha abahinguzi b’utugenegene n’abubatsi+ kugira ngo bagure amabuye abajwe+ n’ibiti vyo gukoramwo ibidadizo no kugira ngo bubakishe ibigiga amazu abami+ ba Yuda bari barasambuye.

12 Kandi abo bagabo bakorana ubwizigirwa+ muri ico gikorwa; abari baragenywe ngo babe abacungezi babo bari Yahati na Obadiya Abalewi bo muri bene Merari+, na Zekariya na Meshulamu bo mu bahungu b’Abakohati+. Abalewi na bo, umwe wese muri bo akaba yari umuhanga mu bijanye n’ibicurarangisho vy’ururirimbo+, 13 bari bajejwe abatwara imizigo+, bakaba n’abacungezi+ b’abakora igikorwa bose ku bijanye n’ibikorwa bitandukanye; kandi mu Balewi+ harimwo abanyamabanga+ n’abarongozi n’abarinzi b’amarembo+.

14 Mu gihe bariko basohora amahera+ yazanwa ku nzu ya Yehova, Hilikiya+ umuherezi yubura igitabu+ c’itegeko rya Yehova+ ryatanzwe biciye ku kuboko kwa Musa+. 15 Nuko Hilikiya abwira Shafani+ umunyamabanga ati: “Ca gitabu c’itegeko nacubuye mu nzu ya Yehova.” Hilikiya aca aha ico gitabu Shafani. 16 Maze Shafani azanira ico gitabu umwami, yongera abwira umwami ati: “Ivyashizwe mu kuboko kw’abasuku bawe vyose bariko barabikora. 17 Barasuka amahera ari mu nzu ya Yehova, bakayashira mu kuboko kw’abagabo bagenywe no mu kuboko kw’abakora igikorwa+.” 18 Shafani umunyamabanga abandanya kumenyesha umwami ati: “Hari igitabu+ Hilikiya umuherezi yampaye+.” Nuko Shafani atangura gusomera imbere y’umwami ibiri muri ico gitabu+.

19 Umwami ngo yumve amajambo ya nya tegeko, aca atantamura impuzu ziwe+. 20 Maze umwami ategeka Hilikiya+ na Ahikamu+ mwene Shafani na Abudoni mwene Mika na Shafani+ umunyamabanga+ na Asaya+ umusuku w’umwami, ati: 21 “Gende munsigurize+ Yehova, twe+ n’abasigaye muri Isirayeli no muri Yuda, ku vyerekeye amajambo yo muri ico gitabu+ cubuwe, kuko ubushangashirwe bwa Yehova+ butegerezwa gusukwa kuri twebwe ari bwinshi, kubera ko ba sogokuruza bacu batagumije ijambo rya Yehova ngo bakore bisunze ivyanditswe muri iki gitabu vyose+.”

22 Nuko Hilikiya ari kumwe n’abo umwami yari yavuze baja kuri Hulida+ umuhanuzikazi+, umugore wa Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi, uwitwararika impuzu+, kuko yaba i Yeruzalemu mu gice ca kabiri c’igisagara; maze batangura kumubwira gutyo. 23 Na we ababwira ati:

“Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Mubwire uwo mugabo yabantumyeko muti: 24 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira nteze ivyago+ aha hantu n’abahaba+, imivumo yose+ yanditswe muri ico gitabu basomeye imbere y’umwami wa Yuda+, 25 kubera ko bampevye+ bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+, kugira ngo bambabarishe+ ibikorwa vyose vy’amaboko yabo+. Ku bw’ivyo, ubushangashirwe bwanje+ buzosukwa aha hantu, ntibuzime+.’” 26 Nayo umwami wa Yuda abatumye gusiguza Yehova, mumubwire muti: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Ku bijanye n’amajambo+ wumvise, 27 kubera ko umutima wawe+ waciye woroha ku buryo wicisha bugufi+ kubera Imana aho wumviye amajambo yayo yerekeye aha hantu n’abahaba, maze ukicisha bugufi imbere yanje+, ugatantamura+ impuzu zawe hanyuma ukaririra imbere yanje, nanje numvise+, ni ko Yehova avuze. 28 Ehe nguhaye guhamvya ba sogokuruza bawe; ata gukeka uzohamvya imva yawe amahoro+, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose+ ngira nteze aha hantu n’abahaba+.’”’”

Nuko bazanira iyo nyishu umwami. 29 Maze umwami atuma gukoranya abagabo b’inararibonye bose ba Yuda n’aba Yeruzalemu+. 30 Umwami aduga rero ku nzu ya Yehova+ ari kumwe n’abagabo ba Yuda bose n’ababa i Yeruzalemu n’abaherezi+ n’Abalewi be n’abantu bose, uwuhambaye n’umuto; atangura gusomera+ mu matwi yabo amajambo yose yo muri nya gitabu c’isezerano cari cubuwe mu nzu ya Yehova+. 31 Umwami aguma ahagaze mu kibanza ciwe+ maze agira isezerano+ imbere ya Yehova yuko azokurikira Yehova be n’uko azogumya n’umutima wiwe wose+ be n’ubuzima bwiwe bwose+ amabwirizwa yiwe+ n’ibishingantahe vyiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+, kugira ngo ashitse+ amajambo y’isezerano yari yanditswe muri ico gitabu+. 32 Vyongeye, atuma abari i Yeruzalemu bose no muri Benyamini barishigikira. Nuko ababa i Yeruzalemu bakora bisunze isezerano ry’Imana, Imana ya ba sekuruza babo+. 33 Inyuma y’ivyo, Yosiya akura ibintu biteye ishishi+ vyose mu bihugu vyose vyegukira bene Isirayeli+, kandi atuma ababa muri Isirayeli bose batangura igikorwa, kugira ngo bakorere Yehova Imana yabo. Mu misi yiwe yose ntibakevya ngo bareke gukurikira Yehova Imana ya ba sekuruza babo+.

35 Maze Yosiya+ ahimbariza pasika+ Yehova i Yeruzalemu kandi bakerera imbagwa ya pasika+ ku musi ugira cumi na kane+ w’ukwezi kwa mbere+. 2 Ashira rero abaherezi mu vyo bajejwe+ yongera arabaremesha+ mu gikorwa c’inzu ya Yehova+. 3 Hanyuma abwira Abalewi, abigisha+ ba Isirayeli yose, abari beranda kuri Yehova, ati: “Mushire Isandugu nyeranda+ mu nzu+ Salomo mwene Dawidi umwami wa Isirayeli yubatse; ntikibabera umuzigo ku bitugu+. Ubu rero nimukorere+ Yehova Imana yanyu n’abantu biwe Isirayeli. 4 Mugire imyiteguro mukurikije inzu ya ba sogokuruza banyu+, nk’uko imice yanyu iri+, mwisunze ivyanditswe+ na Dawidi umwami wa Isirayeli n’ivyanditswe+ na Salomo umuhungu wiwe. 5 Muhagarare+ ahantu heranda mukurikije imigwi y’inzu ya ba sekuruza ku bwa bene wanyu, abahungu b’abantu, kandi habe umugabane w’inzu ya ba sekuru+ y’Abalewi+. 6 Mukerere imbagwa ya pasika+, mwiyeze+ mwongere mugire imyiteguro kugira ngo bene wanyu bakore bisunze ijambo rya Yehova ryatanzwe biciye kuri Musa+.”

7 Nuko Yosiya atērēra abahungu b’abantu imikuku, imyagazi y’intama y’amasuguru n’imyagazi y’impene y’amasuguru, vyose abitanga ngo bibe imbagwa za pasika ku bw’abari ng’aho bose, bikaba vyagera ku bihumbi mirongo itatu, atanga n’inka ibihumbi bitatu+. Ivyo vyari bivuye mu bintu vy’umwami+. 8 Abaganwa biwe+ na bo batanga intererano yo kuba ishikanwa ritangwa ku bushake ku bw’abantu+, ku bw’abaherezi no ku bw’Abalewi. Hilikiya+ na Zekariya na Yehiyele, bwa ndongozi z’inzu y’Imana y’ukuri, baha abaherezi ibitungwa ibihumbi bibiri n’amajana atandatu be n’inka amajana atatu, ngo bibe imbagwa za pasika. 9 Konaniya na bene wabo Shemaya na Netaneli, na Hashabiya na Yeyeli na Yozabadi abakuru b’Abalewi, batērēra Abalewi ibitungwa ibihumbi bitanu n’inka amajana atanu, ngo bibe imbagwa za pasika.

10 Nuko igikorwa kirategurwa+, abaherezi na bo baguma bahagaze+ mu bibanza vyabo+, be n’Abalewi bakurikije imice yabo+, nk’uko ibwirizwa ry’umwami ryari+. 11 Bakerera rero imbagwa ya pasika+ maze abaherezi+ bamijagira+ amaraso babahaye, mu gihe Abalewi bariko bakura insato ku mbagwa+. 12 Vyongeye, bategura amashikanwa aturirwa kugira ngo bayahe imigwi+ bakurikije inzu ya ba sekuru+, bayahe abahungu b’abantu, ngo bashikanire+ Yehova bisunze ivyanditswe mu gitabu ca Musa+; bagira gutyo no ku nka. 13 Maze bateka+ ishikanwa rya pasika+ ku muriro nk’uko vyari bisanzwe bigirwa; ibintu vyagizwe vyeranda na vyo babiteka+ mu nkono zo gutekamwo no mu nkono zifukuye munsi no mu mabakure y’inzimano, hanyuma babizanira ningoga abahungu bose b’abantu+. 14 Mu nyuma, bategura ivyabo n’ivy’abaherezi+, kuko abaherezi bene Aroni bari bafatiriwe no gushikana ibimazi biturirwa+ be n’ibikenye binuze+ gushika ku mugoroba; Abalewi na bo bategura+ ivyabo n’ivy’abaherezi bene Aroni.

15 Abaririmvyi+ bene Asafu+ bari kw’ibanga ryabo, hisunzwe ibwirizwa rya Dawidi+ n’irya Asafu+ n’irya Hemani+ n’irya Yedutuni+ umubonyi+ w’umwami; abarinzi b’amarembo+ na bo bari ku marembo atandukanye+. Ntivyaba ngombwa ko bava ku gikorwa cabo, kuko bene wabo Abalewi babategurira+. 16 Nuko igikorwa cose ca Yehova kirategurwa kuri uwo musi kugira bahimbaze pasika+ no kugira bashikane ku gicaniro ca Yehova amashikanwa aturirwa, nk’uko ibwirizwa ry’Umwami Yosiya ryari+.

17 Bene Isirayeli bari ng’aho batangura guhimbaza pasika+ ico gihe, be n’umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro, mu kiringo c’imisi indwi+. 18 Ntihari bwigere hahimbazwa pasika mwene iyo muri Isirayeli kuva mu misi ya Samweli umuhanuzi+, eka kandi nta n’umwe mu bandi bami+ ba Isirayeli yari yarahimbaje pasika nk’iyahimbajwe na Yosiya n’abaherezi n’Abalewi na Yuda yose na Isirayeli bari ng’aho be n’ababa i Yeruzalemu. 19 Mu mwaka ugira cumi n’umunani w’ingoma ya Yosiya ni ho iyo pasika yahimbazwa+.

20 Inyuma y’ivyo vyose, Yosiya amaze gutegura inzu, Neko+ umwami wa Misiri+ aduga kurwana i Karikemishi+ iruhande ya Efurate. Maze Yosiya+ asohoka guhura na we+. 21 Aca amutumako intumwa ati: “Mpuriye kuki nawe ga yewe mwami wa Yuda? Si wewe nje kurwanya uno musi, mugabo nje kurwanya iyindi nzu, kandi Imana ubwayo yavuze ko nkwiye kuyitera uruhagarara. Nureke ku neza yawe kubera Imana, yo iri kumwe nanje, ntutume iguhonya+.” 22 Yamara Yosiya ntiyahindukira ngo amureke+, mugabo ariyoberanya+ kugira amurwanye, ntiyumviriza amajambo ya Neko+ yari yavuye mu kanwa k’Imana. Nuko aza kurwanira mu kiyaya c’umubande ca Megido+.

23 Maze abarashi+ barasa Umwami Yosiya, ku buryo umwami abwira abasuku biwe ati: “Nimunyururutse, kuko nkomerekejwe cane rwose+.” 24 Nuko abasuku biwe bamwururutsa umukogote, maze bamwuriza mu mukogote wiwe w’intambara ugira kabiri, bamuzana i Yeruzalemu+. Gutyo arapfa+ maze ahambwa mw’itongo ry’abapfuye rya ba sekuruza biwe+; Yuda yose na Yeruzalemu bigandarira+ Yosiya. 25 Yeremiya+ atangura kuririmbana agahinda+ kubera Yosiya; abaririmvyi n’abaririmvyikazi+ bose baracavuga ivya Yosiya mu turirimbo tw’intimba twabo gushika n’uno musi; nuko batugira ingingo nyobozi kuri Isirayeli, kandi ehe twanditswe mu turirimbo tw’intimba+.

26 Nayo ibisigaye mu vya+ Yosiya n’ibikorwa vyiwe vy’ubuntu bwuzuye urukundo+, nk’uko ivyanditswe mw’itegeko+ rya Yehova biri, 27 be n’ivyiwe, ivya mbere n’ivya nyuma+, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli n’aba Yuda.

36 Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi+ mwene Yosiya bamugira umwami mu kibanza ca se, i Yeruzalemu+. 2 Yehowahazi yari afise imyaka mirongo ibiri n’itatu igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu+. 3 Ariko umwami wa Misiri amukura ku ngoma i Yeruzalemu+ hanyuma aca igihugu amande y’italanto ijana z’ifeza+ n’italanto imwe y’inzahabu. 4 Vyongeye, umwami+ wa Misiri yimika Eliyakimu+ mwene wabo ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu maze ahindura izina ryiwe riba Yehoyakimu; mugabo mwene wabo Yehowahazi, Neko+ aramufata amujana mu Misiri+.

5 Yehoyakimu+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu+; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova Imana yiwe+. 6 Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aduga kumutera+ kugira ngo amuboheshe amapingu abiri y’umujumpu ngo amutware i Babiloni+. 7 Kandi Nebukadinezari+ ajana i Babiloni bimwe mu bikoresho+ vyo mu nzu ya Yehova maze abishira mu kirimba ciwe i Babiloni+. 8 Nayo ibisigaye mu vya+ Yehoyakimu n’ibintu vyiwe biteye ishishi+ yakoze be n’ibibi vyabonetse kuri we, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli na Yuda; nuko Yehoyakini+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

9 Yehoyakini+ yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu+ n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. 10 Mu ntango z’umwaka+, Umwami Nebukadinezari atuma abasuku biwe+ maze bamuzana i Babiloni+ hamwe n’ibintu bihimbaye vyo mu nzu ya Yehova+. Vyongeye, yimika Zedekiya+ mwene wabo na se, ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu+.

11 Zedekiya+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu+. 12 Abandanya gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova Imana yiwe. Ntiyicisha bugufi+ imbere ya Yeremiya+ umuhanuzi+, uwavuze abitegetswe na Yehova. 13 Mbere agarariza Umwami Nebukadinezari+, uwari yaramurahije Imana+; aguma adadaza+ izosi yongera akomantaza+ umutima wiwe kugira ngo ntagaruke kuri Yehova Imana ya Isirayeli. 14 Egome, abakuru bose b’abaherezi+ n’abantu bǎrakora ivy’ubuhemu ku rugero runini, bisunze ibintu biteye ishishi+ vyose vy’amahanga, ku buryo bahumanya inzu ya Yehova, iyo yari yarejeje i Yeruzalemu+.

15 Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe+, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe+ n’aho aba+. 16 Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+.

17 Nuko aduza umwami w’Abakaludaya+ ngo abatere, uno na we atangura kwicisha inkota+ imisore yabo mu nzu y’aheranda habo+, ntiyumvira impuhwe umusore canke umwigeme w’isugi, umutama canke umusaza bukokori+. Imana itanga ikintu cose mu kuboko kwiwe. 18 Kandi ibikoresho vyose+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, bininibinini+ na bitobito, be n’amatunga+ y’inzu ya Yehova n’amatunga y’umwami+ n’ay’abaganwa biwe, vyose ajana i Babiloni. 19 Atangura guturira inzu y’Imana+ y’ukuri yongera asiturira hasi uruhome+ rwa Yeruzalemu; iminara yaho yo kubamwo yose bayituriza umuriro, be n’ibintu vyaho vyose bihimbaye+, kugira bahayogeze+. 20 Vyongeye, abasigaye batishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’ab’abahungu biwe gushika ubwami bw’Ubuperesi+ butanguye kuganza; 21 kugira ngo ashitse ijambo rya Yehova ryavuzwe n’akanwa ka Yeremiya+, gushika igihugu cishuye amasabato yaco+. Imisi yose camaze ari umusaka, carubahiriza isabato, kugira gishitse imyaka mirongo irindwi+.

22 Mu mwaka wa mbere wa Kuro+ umwami w’Ubuperesi+, kugira ngo ijambo rya Yehova+ ryavuzwe n’akanwa ka Yeremiya+ riranguke, Yehova akabura impwemu+ ya Kuro umwami w’Ubuperesi, ku buryo ategeka ko haterwa akamo mu bwami bwiwe bwose, bigashirwa no mu nyandiko+, ngo: 23 “Ibi ni vyo Kuro umwami w’Ubuperesi+ avuze: ‘Yehova Imana y’amajuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi ubwiwe yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu muri Yuda+. Umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose+, Yehova Imana yiwe abane na we+. Naduge rero+.’”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “mu ntara yo hasi.”

Canke, “ububani.”

Raba Inyongera ya 21.

Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.

Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya 11.

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Bisobanura ngo “Azoshimangira ubutanyiganyiga.”

Bishobora kuba bisobanura ngo “Mu nkomezi,” bikaba bibwirizwa gusomwa inyuma y’izina ry’iyo yindi nkingi “Yakini.”

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “impwemu zimuvamwo.”

Canke, “mu ntara yo hasi.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “umuntu apfa.”

Ijambo ku rindi ni “ntakoroke.”

Raba Inyongera ya 21.

Bisobanura ngo “Umuhezagiro.”

Ijambo ku rindi ni “impwemu.”

Ni impfunyapfunyo ya Ramoti-gileyadi.

Yitwa Ahaziya ku mirongo ya 1, 2, 7-11.

Ijambo ku rindi ni “uruvyaro rw’ubwami.”

Canke, “mu ntara yo hasi.”

Koro imwe yangana n’amalitiro 220.

Canke, “amasandali.”

Canke, “mu ntara yo hasi.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “yorosha mu maso ha.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika