Igitabu ca Mbere c’ivyo ku Ngoma
5 Bene Yafeti bari Gomeri na Magogi+ na Madayi+ na Yavani+ na Tubali na Mesheki+ na Tirasi+.
6 Bene Gomeri na bo bari Ashikenazi+ na Rifati+ na Togaruma+.
7 Bene Yavani na bo bari Elisha+ na Tarushishi+, Kitimu+ na Rodanimu+.
8 Bene Hamu bari Kushi+ na Mizirayimu+, Puti+ na Kanani+.
9 Bene Kushi na bo bari Seba+ na Havila na Sabuta+ na Rayama+ na Sabuteka+.
Bene Rayama na bo bari Sheba na Dedani+.
10 Kushi avyara Nimurodi+. Uno ni we yatanguye kuba umunyenkomezi mw’isi+.
11 Nayo Mizirayimu, avyara Ludimu+ na Anamimu na Lehabimu na Nafituhimu+ 12 na Patirusimu+ na Kasiluhimu+ (abo Abafilisitiya+ bakomotseko) na Kafutorimu+.
13 Nayo Kanani, avyara Sidoni+ imfura yiwe na Heti+ 14 n’Umuyebusi+ n’Umwamori+ n’Umugirugashi+ 15 n’Umuhiwi+ n’Umwariki n’Umusini+ 16 n’Umwaruvadi+ n’Umuzemari+ n’Umuhamati+.
17 Bene Shemu+ bari Elamu+ na Ashuru+ na Arupakishadi+ na Ludi+ na Aramu,
Na Uzu na Huli na Geteri na Mashi+.
18 Nayo Arupakishadi, avyara Shela+, Shela na we avyara Eberi+.
19 Eberi yavyaye abahungu babiri. Umwe yitwa Pelegi*+, kuko mu misi yiwe ari ho isi yagabuwe; mwene wabo na we yitwa Yokitani.
20 Nayo Yokitani, avyara Alumodadi na Shelefu na Hazarumaveti na Yera+ 21 na Hadoramu na Uzali na Dikila+ 22 na Obali na Abimayeli na Sheba+ 23 na Ofiri+ na Havila+ na Yobabu+; abo bose bari bene Yokitani.
28 Bene Aburahamu bari Izahaki+ na Ishimayeli+.
29 Aya ni yo mamuko y’imiryango yabo: Imfura ya Ishimayeli ari yo Nebayoti+, na Kedari+ na Adibeyeli na Mibusamu+, 30 Mishima na Duma+, Masa, Hadadi+ na Tema, 31 Yeturi, Nafishi na Kedema+. Abo ni bo bari bene Ishimayeli.
32 Abahungu bavyawe na Ketura+, incoreke ya Aburahamu+, bari Zimurani na Yokishani na Medani+ na Midiyani+ na Ishibaki+ na Shuwa+.
Bene Yokishani na bo bari Sheba na Dedani+.
33 Bene Midiyani bari Efa+ na Eferi na Hanoki na Abida na Eludaya+.
Abo bose bari bene Ketura.
34 Aburahamu avyara Izahaki. Bene Izahaki+ bari Esawu+ na Isirayeli+.
35 Bene Esawu bari Elifazi, Reyuweli+ na Yewushi na Yalamu na Kora+.
36 Bene Elifazi bari Temani+ na Omari, Zefo na Gatamu, Kenazi+ na Timuna+ na Amaleki+.
37 Bene Reyuweli bari Nahati, Zera, Shama na Miza+.
38 Bene Seyiri+ bari Lotani na Shobali na Zibeyoni na Ana+ na Dishoni na Ezeri na Dishani+.
39 Bene Lotani bari Hori na Homamu. Mushiki wa Lotani yari Timuna+.
40 Bene Shobali bari Aluvani na Manahati na Ebali, Shefo na Onamu+.
Bene Zibeyoni bari Aya na Ana+.
Bene Dishoni na bo bari Hemudani na Eshubani na Itirani na Kerani+.
42 Bene Ezeri+ bari Bilihani na Zayavani na Akani+.
Bene Dishani bari Uzu na Arani+.
43 Aba ni bo bami baganje mu gihugu ca Edomu+ imbere y’uko hagira umwami+ aganza bene Isirayeli: Bela mwene Beyori; igisagara ciwe citwa Dinihaba+. 44 Amaherezo Bela arapfa, maze Yobabu mwene Zera+ w’i Bozira+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 45 Amaherezo Yobabu arapfa, maze Hushamu+ wo mu gihugu c’Abatemani+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 46 Amaherezo Hushamu arapfa, maze Hadadi+ mwene Bedadi, uwatsindiye Midiyani+ mu karere ka Mowabu, atangura kuganza mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe kikaba citwa Aviti+. 47 Amaherezo Hadadi arapfa, maze Samula w’i Masireka+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 48 Amaherezo Samula arapfa, maze Shawuli w’i Rehoboti+ iruhande ya rwa Ruzi atangura kuganza mu kibanza ciwe. 49 Amaherezo Shawuli arapfa, maze Bayali-hanani mwene Akibori+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 50 Amaherezo Bayali-hanani arapfa, maze Hadadi atangura kuganza mu kibanza ciwe; igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli umukobwa wa Matiredi, Matiredi umukobwa wa Mezahabu+. 51 Amaherezo Hadadi arapfa.
Abatware* ba Edomu babaye aba: umutware Timuna, umutware Aluva, umutware Yeteti+, 52 umutware Oholibama, umutware Ela, umutware Pinoni+, 53 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibuzari+, 54 umutware Magidiyeli, umutware Iramu+. Abo ni bo bari abatware+ ba Edomu.
2 Aba ni bo bari bene Isirayeli+: Rubeni+, Simeyoni+, Lewi+ na Yuda+, Isakari+ na Zebuloni+, 2 Dani+, Yozefu+ na Benyamini+, Nafutali+, Gadi+ na Asheri+.
3 Bene Yuda bari Ere+ na Onani+ na Shela+. Abo batatu yabavyariwe n’umukobwa wa Shuwa, Umunyakananikazi. Mugabo Ere imfura ya Yuda aba mubi mu maso ya Yehova, ku buryo amwica+. 4 Tamari+ umukazana wiwe ni we yamuvyariye Perezi+ na Zera. Abahungu bose ba Yuda bari batanu.
5 Bene Perezi bari Hezironi na Hamuli+.
6 Bene Zera+ bari Zimuri na Etani na Hemani na Kalikoli na Dara+. Bose hamwe bari batanu.
7 Mwene* Karumi+ yari Akari*, umwe yazana ikumira kuri Isirayeli+, uwakoze ikintu c’ubuhemu ku bijanye na ca kintu co gutikizwa+.
9 Bene Hezironi+, abo yavyariwe, bari Yerahimeyeli+ na Ramu+ na Kelubayi.
10 Nayo Ramu, avyara Aminadabu+. Aminadabu na we avyara Nahashoni+ umukuru wa bene Yuda. 11 Nahashoni na we avyara Saluma+. Saluma na we avyara Bowazi+. 12 Bowazi na we avyara Obedi+. Obedi na we avyara Yese+. 13 Yese na we avyara imfura yiwe Eliyabu+, Abinadabu+ aba uwugira kabiri, Shimeya+ uwugira gatatu, 14 Netaneli uwugira kane, Radayi uwugira gatanu, 15 Ozemu uwugira gatandatu, Dawidi+ uwugira indwi. 16 Bashiki babo bari Zeruwiya na Abigayili+; bene Zeruwiya bari Abishayi+ na Yowabu+ na Asaheli+: batatu. 17 Nayo Abigayili, avyara Amasa+; se wa Amasa yari Yeteri+ Umwishimayeli.
18 Nayo Kalebu mwene Hezironi+, avyara abahungu kuri Azuba umugore wiwe no kuri Yeriyoti; aba ni bo bari abahungu biwe: Yesheri na Shobabu na Arudoni. 19 Amaherezo Azuba arapfa. Kalebu yiyabirira rero Efurata+, uwahavuye amuvyarira Huru+. 20 Huru na we avyara Uri+, Uri na we avyara Bezaleli+.
21 Mu nyuma Hezironi aryamana n’umukobwa wa Makiri+ se wa Gileyadi+. Hezironi yari afise imyaka mirongo itandatu igihe yamutwara, mugabo amuvyarira Segubu. 22 Segubu na we avyara Yayiri+, uwahavuye agira ibisagara mirongo ibiri na bitatu+ mu gihugu ca Gileyadi. 23 Mu nyuma Geshuri+ na Siriya+ bibatwara Havoti-yayiri+, hamwe na Kenati+ n’ibisagara bihakukira, ibisagara mirongo itandatu. Abo bose bari abahungu ba Makiri se wa Gileyadi.
24 Hezironi+ amaze gupfira i Kalebu-efurata, umugore wiwe Abiya amuvyarira rero Ashuhuri se wa Tekowa+.
25 Bene Yerahimeyeli+ imfura ya Hezironi bari Ramu+ imfura, na Buna na Oreni na Ozemu na Ahiya. 26 Yerahimeyeli agira uwundi mugore yitwa Atara. Uno ni we yari nyina wa Onamu. 27 Bene Ramu+ imfura ya Yerahimeyeli baba Mayazi na Yamini na Ekeri. 28 Bene Onamu+ baba Shamayi na Yada. Bene Shamayi na bo bari Nadabu na Abishuri. 29 Umugore wa Abishuri yitwa Abihayili, uwahavuye amuvyarira Ahubani na Molidi. 30 Bene Nadabu+ bari Seledi na Apayimu. Mugabo Seledi yapfuye atavyaye abana. 31 Mwene Apayimu yari Ishi. Mwene Ishi yari Sheshani+; mwene Sheshani na we yari Ahilayi. 32 Bene Yada mwene wabo na Shamayi bari Yeteri na Yonatani. Mugabo Yeteri yapfuye atavyaye abana. 33 Bene Yonatani bari Peleti na Zaza. Abo ni bo babaye bene Yerahimeyeli.
34 Nuko Sheshani+ ntiyaronka abahungu, atari abakobwa. Kandi Sheshani yari afise umusuku w’Umunyamisiri+ yitwa Yariha. 35 Sheshani aha rero umukobwa wiwe Yariha umusuku wiwe ngo amubere umugore, uno akaba yahavuye amuvyarira Atayi. 36 Atayi na we avyara Natani. Natani na we avyara Zabadi+. 37 Zabadi na we avyara Efulali. Efulali na we avyara Obedi. 38 Obedi na we avyara Yehu. Yehu na we avyara Azariya. 39 Azariya na we avyara Helezi. Helezi na we avyara Eleyasa. 40 Eleyasa na we avyara Sisimayi. Sisimayi na we avyara Shalumu. 41 Shalumu na we avyara Yekamiya. Yekamiya na we avyara Elishama.
42 Bene Kalebu+ mwene wabo na Yerahimeyeli bari Mesha imfura yiwe, uwari se wa Zifu, na bene Maresha se wa Heburoni. 43 Bene Heburoni bari Kora na Tapuwa na Rekemu na Shema. 44 Shema na we avyara Rahamu se wa Yorukeyamu. Rekemu na we avyara Shamayi. 45 Mwene Shamayi yari Mawoni; Mawoni na we yari se wa Beti-zuri+. 46 Nayo Efa incoreke ya Kalebu, yibaruka Harani na Moza na Gazezi. Harani na we avyara Gazezi. 47 Bene Yahadayi bari Regemu na Yotamu na Geshani na Pelete na Efa na Shayafu. 48 Nayo incoreke ya Kalebu ari yo Mayaka, yibaruka Sheberi na Tiruhana. 49 Mu nyuma avyara Shayafu se wa Madumana+, Sheva se wa Makibena na se wa Gibeya+. Umukobwa wa Kalebu+ yari Akisa+. 50 Abo ni bo babaye bene Kalebu.
Bene Huru+ imfura ya Efurata+ bari: Shobali+ se wa Kiriyati-yeyarimu+, 51 Saluma se wa Betelehemu+, Harefu se wa Beti-gaderi. 52 Shobali+ se wa Kiriyati-yeyarimu agira abahungu: Harowe be n’igice c’Abamenuhoti. 53 Imiryango ya Kiriyati-yeyarimu yari Abituri+ n’Abaputi n’Abashumati n’Abamishirayi. Ni yo Abazorati+ n’Abeshitayoli+ bakomotsemwo. 54 Bene Saluma bari Betelehemu+, Abanyanetofa+, Atiroti-beti-yowabu n’igice c’Abamanahati, Abazori. 55 Imiryango y’abanditsi baba i Yabezi+ yari: Abatirati, Abashimeyati, Abasukati. Abo ni bo bari Abakeni+ bakomoka kuri Hamati se w’inzu ya Rekabu+.
3 Aba ni bo babaye abahungu ba Dawidi+, abo yavyariwe i Heburoni+: imfura yari Amunoni+, wo kuri Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi+; uwugira kabiri yari Daniyeli, wo kuri Abigayili+ Umunyakarumelikazi+; 2 uwugira gatatu yari Abusalomu+ umuhungu wa Mayaka+, Mayaka umukobwa wa Talimayi+ umwami wa Geshuri+; uwugira kane yari Adoniya+ umuhungu wa Hagiti+; 3 uwugira gatanu yari Shefatiya, wo kuri Abitali+; uwugira gatandatu yari Itireyamu, wo kuri Egula+ umugore wiwe. 4 Batandatu yabavyariwe i Heburoni; aganza ari ng’aho imyaka indwi n’amezi atandatu, yongera aganza imyaka mirongo itatu n’itatu ari i Yeruzalemu+.
5 Aba yabavyariwe i Yeruzalemu+: Shimeya+ na Shobabu+ na Natani+ na Salomo+: bane kuri Bati-sheba+ umukobwa wa Amiyeli+, 6 na Ibuhari+ na Elishama+ na Elifeleti+, 7 na Noga na Nefegi na Yafiya+, 8 na Elishama+ na Eliyada na Elifeleti+: icenda; 9 abo bose bari abahungu ba Dawidi hatarimwo abahungu bo ku ncoreke, na Tamari+ mushiki wabo.
10 Umuhungu wa Salomo yari Rehobowamu, uwa Rehobowamu+ akaba Abiya+, uwa Abiya akaba Asa+, uwa Asa akaba Yehoshafati+, 11 uwa Yehoshafati akaba Yehoramu+, uwa Yehoramu akaba Ahaziya+, uwa Ahaziya akaba Yehowasi+, 12 uwa Yehowasi akaba Amaziya+, uwa Amaziya akaba Azariya+, uwa Azariya akaba Yotamu+, 13 uwa Yotamu akaba Ahazi+, uwa Ahazi akaba Hezekiya+, uwa Hezekiya akaba Manase+, 14 uwa Manase akaba Amoni+, uwa Amoni akaba Yosiya+. 15 Bene Yosiya bari aba: imfura yari Yohanani, uwugira kabiri yari Yehoyakimu+, uwugira gatatu yari Zedekiya+, uwugira kane akaba Shalumu. 16 Bene Yehoyakimu bari Yekoniya+ umuhungu wiwe na Zedekiya wa Yekoniya. 17 Abahungu Yekoniya yavyaye ari imbohe bari Sheyalutiyeli+ umuhungu wiwe 18 na Malikiramu na Pedaya na Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya. 19 Bene Pedaya bari Zerubabeli+ na Shimeyi; bene Zerubabeli na bo bari Meshulamu na Hananiya (Shelomiti ni we yari mushiki wabo); 20 hamwe na Hashuba na Oheli na Berekiya na Hasadiya na Yushabu-hesedi: batanu. 21 Bene Hananiya bari Pelatiya+ na Yeshaya, mwene* Yeshaya akaba Refaya, mwene Refaya akaba Arunani, mwene Arunani akaba Obadiya, mwene Obadiya akaba Shekaniya; 22 mwene Shekaniya na we yari Shemaya, bene Shemaya bakaba Hatushi na Igali na Bariya na Neyariya na Shafati: batandatu. 23 Bene Neyariya na bo bari Eliyowenayi na Hizikiya na Azirikamu: batatu. 24 Bene Eliyowenayi na bo bari Hodaviya na Eliyashibu na Pelaya na Akubu na Yohanani na Delaya na Anani: indwi.
4 Bene Yuda bari Perezi+, Hezironi+ na Karumi+ na Huru+ na Shobali+. 2 Nayo Reyaya+ mwene Shobali, avyara Yahati; Yahati na we avyara Ahumayi na Lahadi. Iyo ni yo yari imiryango y’Abazorati+. 3 Aba ni bo bari abahungu ba se wa Etamu+: Yezireyeli+ na Ishima na Idubashi (mushiki wabo yitwa Hazeleliponi,) 4 na Penuweli se wa Gedori+ na Ezeri se wa Husha. Abo ni bo bari bene Huru+ imfura ya Efurata se wa Betelehemu+. 5 Ashuhuri+ se wa Tekowa+ agira abagore babiri, Hela na Nayara. 6 Mu nyuma Nayara amuvyarira Ahuzamu na Heferi na Temeni na Hayahashitari. Abo ni bo bari abahungu ba Nayara. 7 Abahungu ba Hela na bo bari Zereti, Izihari na Etani. 8 Nayo Kozi, avyara Anubu na Zobeba n’imiryango ya Aharuheli mwene Harumu.
9 Yabezi+ agira icubahiro+ kuruta bene wabo; nyina ni we yamwise Yabezi, mu kuvuga ati: “Namwibarukiye mu mubabaro+.” 10 Nuko Yabezi atangura kwambaza Imana+ ya Isirayeli ati: “Niwampezagira ata kabuza+, ukagura koko akarere kanje+ kandi ukuboko kwawe+ kukaba vy’ukuri kumwe nanje, ukongera ukandinda koko ivyago+, kugira ngo ntibingirire nabi+, . . .” Nuko Imana ishitsa ivyo yari yasavye+.
11 Nayo Kelubu mwene wabo na Shuha, avyara Mehiri, uwari se wa Eshitoni. 12 Eshitoni na we avyara Beti-rafa na Paseya na Tehina se wa Iri-nahashi. Abo ni bo bari abagabo b’i Reka. 13 Bene Kenazi+ bari Otiniyeli+ na Seraya, mwene* Otiniyeli na we akaba Hatati. 14 Nayo Mewonotayi, avyara Ofura. Nayo Seraya, avyara Yowabu se wa Ge-harashimu*; kuko babaye abahinguzi b’utugenegene+.
15 Abahungu ba Kalebu+ mwene Yefune+ bari Iru, Ela na Nayamu; mwene Ela na we yari Kenazi. 16 Bene Yehaleleli bari Zifu na Zifa, Tiriya na Asareli. 17 Bene Ezira bari Yeteri na Meredi na Eferi na Yaloni; avyara Miriyamu na Shamayi na Ishiba se wa Eshitemowa+. 18 Nayo umugore wiwe w’Umuyudakazi, yibaruka Yeredi se wa Gedori na Heberi se wa Soko na Yekutiyeli se wa Zanowa. Abo ni bo bari abahungu ba Bitiya umukobwa wa Farawo, uwo Meredi yabiriye.
19 Abahungu b’umugore wa Hodiya, mushiki wa Nahamu, bari se wa Keyila+ h’Abagarumi* na Eshitemowa Umumayakati. 20 Bene Shimoni bari Amunoni na Rina, Beni-hanani na Tiloni. Bene Ishi bari Zoheti na Beni-zoheti.
21 Bene Shela+ umuhungu wa Yuda bari Ere se wa Leka na Layada se wa Maresha be n’imiryango y’inzu y’abahinguzi b’ibitambara vyiza+ bo mu nzu ya Ashubeya; 22 na Yokimu n’abantu b’i Kozeba na Yowasi na Sarafu, ababaye abagaba abagore b’Abanyamowabukazi+, na Yashubi-lehemu. Kandi ayo majambo ni ayo mu nkuru za kera+. 23 Bari ababumvyi+, bakaba kandi baba i Netayimu n’i Gedera. Baba ng’aho, bakora igikorwa c’umwami+.
24 Bene Simeyoni bari Nemuweli+ na Yamini+, Yaribu, Zera, Shawuli+, 25 Shalumu wa Shawuli, Mibusamu wa Shalumu, Mishima wa Mibusamu. 26 Bene Mishima na bo bari Hamuweli umuhungu wiwe, Zakuri wa Hamuweli, Shimeyi wa Zakuri. 27 Shimeyi yari afise abahungu cumi na batandatu n’abakobwa batandatu; mugabo bene wabo ntibaronse abana benshi, kandi nta n’umwe wo mu miryango yabo yarondotse nka bene Yuda+. 28 Nuko babandanya kuba i Beyeri-sheba+ n’i Molada+ n’i Hazari-shuwali+ 29 n’i Biluha+ n’i Ezemu+ n’i Toladi+ 30 n’i Betuweli+ n’i Horuma+ n’i Zikulagi+ 31 n’i Beti-marikaboti n’i Hazari-susimu+ n’i Beti-biri n’i Shayarayimu+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo gushika aho Dawidi aganziye.
32 Imihana irundanye ibikukira yari Etamu na Ayini, Rimoni na Tokeni na Ashani+: ibisagara bitanu. 33 Kandi imihana irundanye yose ibikukira yari irya n’ino y’ivyo bisagara yashika i Bayali+. Aho ni ho baba kandi ni ho bandikirwa hisunzwe amamuko y’imiryango yabo. 34 Hari kandi Meshobabu na Yamuleki na Yosha mwene Amaziya, 35 na Yoweli na Yehu mwene Yoshibiya, Yoshibiya mwene Seraya, Seraya mwene Asiyeli, 36 na Eliyowenayi na Yayakoba na Yeshohaya na Asaya na Adiyeli na Yesimiyeli na Benaya, 37 na Ziza mwene Shifi, Shifi wa Aloni, Aloni wa Yedaya, Yedaya wa Shimuri, Shimuri wa Shemaya. 38 Abo bavuzwe amazina bari abakuru mu miryango yabo+, kandi urugo rwa ba sekuruza babo rwaragwiriye cane. 39 Nuko bagenda ku rwinjiriro rwa Gedori, gushika mu buseruko bw’uwo mubande, kugira ngo baronderere imikuku yabo uburagiriro. 40 Amaherezo bubura uburagiriro butotahaye kandi bwiza+, kandi ico gihugu cari cagutse rwose, ata kigihungabanya+, gitekanye; kuko abakibamwo kera bakomoka kuri Hamu+. 41 Nuko abo banditswe hisunzwe amazina yabo batangura kuza mu misi ya Hezekiya+ umwami wa Yuda, maze basasika+ amahema y’Abahamu n’Abamewunimu bariyo, ku buryo babatikiza+ gushika n’uyu musi; nuko batangura kuba ahantu habo, kuko hariyo uburagiriro+ ku bw’imikuku yabo.
42 Kandi muri abo, hari bamwebamwe mu bahungu ba Simeyoni bagiye ku musozi Seyiri+, abagabo amajana atanu, bayobowe na Pelatiya na Neyariya na Refaya na Uziyeli, bene Ishi. 43 Nuko basasika amasigarira yari yaracitse kw’icumu mu ba Amaleki+, hanyuma babayo gushika n’uyu musi.
5 Bene Rubeni+ imfura ya Isirayeli—kuko yari imfura+; mugabo kubera yuko yahumanije uburiri bwa se+, uburenganzira bwiwe bw’imfura bwahawe bene Yozefu+ umuhungu wa Isirayeli, ku buryo atari kwandikwa hakurikijwe amamuko, ku bijanye n’uburenganzira bw’imfura. 2 Kuko Yuda+ yabaye mukuru muri bene wabo; kandi uwobaye indongozi yakomotse muri we+; mugabo uburenganzira bw’imfura bwari ubwa Yozefu+— 3 bene Rubeni imfura ya Isirayeli bari Hanoki+ na Palu+, Hezironi na Karumi+. 4 Bene Yoweli bari Shemaya umuhungu wiwe, Gogi wa Shemaya, Shimeyi wa Gogi, 5 Mika wa Shimeyi, Reyaya wa Mika, Bayali wa Reyaya, 6 Beyera wa Bayali, uwo Tilugati-piluneseri+ umwami wa Ashuri yatwaye mu bunyagano, akaba yari umukuru w’Abarubeni. 7 Bene wabo nk’uko imiryango yabo yari, mw’iyandikwa rifatiye ku mamuko+ ryagizwe hisunzwe abamuka kuri bo, bari aba: Yeyeli umukuru, na Zekariya, 8 na Bela mwene Azazi, Azazi wa Shema, Shema wa Yoweli+—Bela yaba i Aroweri+ no gushika i Nebo+ n’i Bayali-meyoni+. 9 No mu buseruko yarahaba, gushika aho umuntu yinjirira mu gahinga ku ruzi Efurate+, kuko ibitungwa vyabo vyari vyarabaye vyinshi mu gihugu ca Gileyadi+. 10 Mu misi ya Sauli, barwanya Abahaguri+, abahavuye bagwa biciye ku kuboko kwabo; maze baba mu mahema yabo mu gihugu cose mu buseruko bwa Gileyadi.
11 Nayo bene Gadi+ bari imbere yabo, baba mu gihugu ca Bashani+ gushika i Saleka+. 12 Yoweli yari umukuru, Shafamu uwugira kabiri, na Yanayi na Shafati, i Bashani. 13 Bene wabo begukira inzu ya ba sekuruza bari Mikaheli na Meshulamu na Sheba na Yorayi na Yakani na Ziya na Eberi: indwi. 14 Abo bari bene Abihayili umuhungu wa Huri, Huri wa Yarowa, Yarowa wa Gileyadi, Gileyadi wa Mikaheli, Mikaheli wa Yeshishayi, Yeshishayi wa Yahado, Yahado wa Buzu; 15 Ahi mwene Abudiyeli, Abudiyeli wa Guni, umukuru w’inzu ya ba sekuruza. 16 Babandanya kuba i Gileyadi+ n’i Bashani+ no mu bisagara bihakukira+ no mu matongo y’uburagiriro yose y’i Sharoni gushika iyo agarukira. 17 Bose banditswe hakurikijwe amamuko mu misi ya Yotamu+ umwami wa Yuda no mu misi ya Yerobowamu+ umwami wa Isirayeli.
18 Nayo bene Rubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase, mu bari abantu b’intwari+, abagabo batwara inkinzo n’inkota kandi bafora umuheto bamenyerejwe mu ntambara, hari ibihumbi mirongo ine na bine n’amajana indwi na mirongo itandatu baja mu ngabo+. 19 Batangura kurwana n’Abahaguri+, na Yeturi+ na Nafishi+ na Nodabu. 20 Amaherezo bafashwa kubarwanya, ku buryo Abahaguri n’abari kumwe na bo bose batangwa mu kuboko kwabo, kuko bari batabaje+ Imana muri iyo ntambara, na yo ikemera kwingingwa ku bwabo kuko bari bayizigiye+. 21 Banyaga ibitungwa vyabo+: ingamiya zabo ibihumbi mirongo itanu, n’intama ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu, n’indogobwa ibihumbi bibiri, bagira n’imbohe abantu ibihumbi ijana+. 22 Kuko benshi bari baguye bagandaguwe, kubera ko nya ntambara yava ku Mana y’ukuri+. Nuko babandanya kuba ahantu habo gushika igihe ca bwa bunyagano+.
23 Nayo abahungu b’igice c’umuryango wa Manase+, baba mu gihugu kiva i Bashani+ kigashika i Bayali-herumoni+ n’i Seniri+ no ku musozi Herumoni+. Baba benshi. 24 Aba ni bo bari abakuru b’inzu ya ba sekuruza: Eferi na Ishi na Eliyeli na Aziriyeli na Yeremiya na Hodaviya na Yahadiyeli, abagabo bari intwari n’abanyenkomezi, abagabo ba rurangiranwa, abakuru b’inzu ya ba sekuruza. 25 Mugabo batangura guhemuka ku Mana ya ba sekuruza, bashurashurana+ n’imana+ z’ibisata vy’abantu vyo muri ico gihugu, ivyo Imana yari yarazimanganije imbere yabo. 26 Nuko Imana ya Isirayeli ikabura impwemu+ ya Puli+ umwami wa Ashuri+, egome, impwemu ya Tilugati-piluneseri+ umwami wa Ashuri, ku buryo atwara mu bunyagano+ abo mu Barubeni n’abo mu Bagadi n’abo mu gice c’umuryango wa Manase, akabajana i Hala+ n’i Habori n’i Hara no ku ruzi Gozani; bagumayo gushika n’uyu musi.
6 Bene Lewi+ bari Gerishoni+, Kohati+ na Merari+. 2 Bene Kohati na bo bari Amuramu+, Izihari+ na Heburoni+ na Uziyeli+. 3 Bene Amuramu+ na bo bari Aroni+ na Musa+, na Miriyamu+. Bene Aroni na bo bari Nadabu+ na Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+. 4 Nayo Eleyazari+, avyara Finehasi+. Finehasi na we avyara Abishuwa+. 5 Abishuwa na we avyara Buki; Buki na we avyara Uzi+. 6 Uzi na we avyara Zerahiya; Zerahiya na we avyara Merayoti+. 7 Merayoti na we avyara Amariya; Amariya na we avyara Ahitubu+. 8 Ahitubu na we avyara Zadoki+; Zadoki na we avyara Ahimayazi+. 9 Ahimayazi na we avyara Azariya. Azariya na we avyara Yohanani. 10 Yohanani na we avyara Azariya+. Uno ni we yakora ari umuherezi muri ya nzu Salomo yubaka i Yeruzalemu.
11 Azariya avyara Amariya+. Amariya na we avyara Ahitubu+. 12 Ahitubu na we avyara Zadoki+. Zadoki na we avyara Shalumu. 13 Shalumu na we avyara Hilikiya+. Hilikiya na we avyara Azariya. 14 Azariya na we avyara Seraya+. Seraya na we avyara Yehozadaki+. 15 Yehozadaki ni we yagiye mu bunyagano igihe Yehova yatwara mu bunyagano Yuda na Yeruzalemu biciye ku kuboko kwa Nebukadinezari.
16 Bene Lewi+ bari Gerishomu*, Kohati na Merari. 17 Aya ni yo mazina ya bene Gerishomu: Libuni+ na Shimeyi+. 18 Bene Kohati+ bari Amuramu+ na Izihari na Heburoni na Uziyeli+. 19 Bene Merari bari Mahili na Mushi+.
Iyi ni yo yari imiryango y’Abalewi hakurikijwe ba sekuruza babo+: 20 Kuri Gerishomu: Libuni+ umuhungu wiwe, Yahati wa Libuni, Zima wa Yahati, 21 Yowa+ wa Zima, Ido wa Yowa, Zera wa Ido, Yeyaterayi wa Zera. 22 Bene Kohati bari Aminadabu umuhungu wiwe, Kora+ wa Aminadabu, Asiri wa Kora, 23 Elikana wa Asiri, Ebiyasafu+ wa Elikana, Asiri wa Ebiyasafu; 24 Tahati wa Asiri, Uriyeli wa Tahati, Uziya wa Uriyeli, na Shawuli wa Uziya. 25 Bene Elikana+ bari Amasayi na Ahimoti. 26 Ku bijanye na Elikana, bene Elikana bari Zofayi+ umuhungu wiwe, Nahati wa Zofayi, 27 Eliyabu+ wa Nahati, Yerohamu wa Eliyabu, Elikana+ wa Yerohamu. 28 Bene Samweli+ bari: imfura Yoweli n’uwugira kabiri Abiya+. 29 Bene Merari bari Mahili+, Libuni wa Mahili, Shimeyi wa Libuni, Uza wa Shimeyi, 30 Shimeya wa Uza, Hagiya wa Shimeya, Asaya wa Hagiya.
31 Aba ni bo Dawidi+ yahaye amabango yo kuyobora ivy’ukuririmba ku nzu ya Yehova, aho ya Sandugu imariye kuronka ahantu h’ukuruhukira+. 32 Baba abasuku+ mu vy’ukuririmba+ imbere y’itaberenakulo* y’ihema ry’ihuriro, gushika Salomo yubatse inzu ya Yehova i Yeruzalemu+; nuko baguma bakora igikorwa cabo nk’uko bari babishinzwe+. 33 Aba ni bo bakora igikorwa hamwe n’abahungu babo: Mu bahungu b’Abakohati: Hemani+ umuririmvyi, mwene Yoweli+, Yoweli mwene Samweli+, 34 Samweli mwene Elikana+, Elikana mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Eliyeli+, Eliyeli mwene Towa, 35 Towa mwene Zufi+, Zufi mwene Elikana, Elikana mwene Mahati, Mahati mwene Amasayi, 36 Amasayi mwene Elikana, Elikana mwene Yoweli, Yoweli mwene Azariya, Azariya mwene Zefaniya, 37 Zefaniya mwene Tahati, Tahati mwene Asiri, Asiri mwene Ebiyasafu+, Ebiyasafu mwene Kora+, 38 Kora mwene Izihari+, Izihari mwene Kohati, Kohati mwene Lewi, Lewi mwene Isirayeli.
39 Ku bijanye na Asafu+ mwene wabo, uwakorera igikorwa iburyo bwiwe: Asafu yari mwene Berekiya+, Berekiya mwene Shimeya, 40 Shimeya mwene Mikaheli, Mikaheli mwene Bayaseya, Bayaseya mwene Malikiya, 41 Malikiya mwene Etini, Etini mwene Zera, Zera mwene Adaya, 42 Adaya mwene Etani, Etani mwene Zima, Zima mwene Shimeyi, 43 Shimeyi mwene Yahati+, Yahati mwene Gerishomu+, Gerishomu mwene Lewi.
44 Ku bijanye na bene Merari+ bene wabo, abari ibubamfu: hari Etani+ mwene Kishi+, Kishi mwene Abudi, Abudi mwene Maluku, 45 Maluku mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Amaziya, Amaziya mwene Hilikiya, 46 Hilikiya mwene Amuzi, Amuzi mwene Bani, Bani mwene Shemeri, 47 Shemeri mwene Mahili, Mahili mwene Mushi+, Mushi mwene Merari+, Merari mwene Lewi.
48 Bene wabo Abalewi+ ni bo bari baratanzwe ngo bakore igikorwa cose+ c’itaberenakulo y’inzu y’Imana y’ukuri. 49 Aroni+ n’abahungu biwe bafumbishiriza umwotsi w’ibimazi+ ku gicaniro* c’ishikanwa riturirwa+ no ku gicaniro c’imibavu*+, ku bijanye n’igikorwa cose c’ibintu vyeranda rwose no kugira ngo batangire impongano*+ Isirayeli+, bisunze ivyo Musa umusavyi w’Imana y’ukuri yari yarategetse vyose. 50 Aba ni bo bari bene Aroni+: Eleyazari+ umuhungu wiwe, Finehasi+ mwene Eleyazari, Abishuwa+ mwene Finehasi, 51 Buki mwene Abishuwa, Uzi mwene Buki, Zerahiya+ mwene Uzi, 52 Merayoti+ mwene Zerahiya, Amariya mwene Merayoti, Ahitubu+ mwene Amariya, 53 Zadoki+ mwene Ahitubu, Ahimayazi+ mwene Zadoki.
54 Aha ni ho hantu baba hakurikijwe amakambi yabo azitijwe impome mu karere kabo+, ahahawe bene Aroni bo mu muryango w’Abakohati+, kuko ubupfindo bwari bwabaye ubwabo. 55 Nuko babaha Heburoni+ mu gihugu ca Yuda, n’amatongo y’uburagiriro yaho yari irya n’ino y’ico gisagara. 56 Akarere k’ico gisagara n’imihana irundanye+ igikukira babiha Kalebu+ mwene Yefune+. 57 Bene Aroni na bo bahabwa ibisagara vy’ubuhungiro+: Heburoni+, Libuna+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Yatiri+, Eshitemowa+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 58 Hileni+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Debiri+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 59 Ashani+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Beti-shemeshi+ n’amatongo y’uburagiriro yaho; 60 ku vy’umuryango wa Benyamini na ho hatangwa: Geba+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Alemeti+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Anatoti+ n’amatongo y’uburagiriro yaho. Ibisagara vyabo vyose vyari ibisagara cumi na bitatu+ vyatanzwe mu miryango yabo.
61 Bene Kohati bari basigaye, bahabwa biciye ku bupfindo ibisagara cumi+ bikuwe ku vy’inzu y’uwundi muryango no ku vy’igice c’umuryango, ni ukuvuga igice ca Manase.
62 Bene Gerishomu+, nk’uko imiryango yabo iri, bahabwa ibisagara cumi na bitatu bikuwe ku vy’umuryango wa Isakari+ no ku vy’umuryango wa Asheri+ no ku vy’umuryango wa Nafutali+ no ku vy’umuryango wa Manase+ muri Bashani.
63 Bene Merari+, hakurikijwe imiryango yabo, bahabwa biciye ku bupfindo ibisagara cumi na bibiri bikuwe ku vy’umuryango wa Rubeni+ no ku vy’umuryango wa Gadi+ no ku vy’umuryango wa Zebuloni+.
64 Ukwo ni ko bene Isirayeli bahaye Abalewi+ ibisagara n’amatongo y’uburagiriro yavyo+. 65 Vyongeye, batanga biciye ku bupfindo ivyo bisagara, babikuye ku vy’umuryango wa bene Yuda+ no ku vy’umuryango wa bene Simeyoni+ no ku vy’umuryango wa bene Benyamini+, baraheza babiha amazina yabo.
66 Imwe mu miryango ya bene Kohati ironka ibisagara vyo mu karere kabo bikuwe ku vy’umuryango wa Efurayimu+. 67 Babaha rero ibisagara vy’ubuhungiro, ari vyo Shekemu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho mu karere k’imisozi ka Efurayimu, Gezeri+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 68 Yokimeyamu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Beti-horoni+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 69 Ayaloni+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Gati-rimoni+ n’amatongo y’uburagiriro yaho; 70 ku vy’igice c’umuryango wa Manase hatangwa: Aneri+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Bileyamu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, bihabwa umuryango wa bene Kohati bari basigaye+.
71 Bene Gerishomu+ na bo bahabwa ibisagara bikuwe ku vy’inzu y’igice c’umuryango wa Manase, ari vyo Golani+ i Bashani n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Ashitaroti+ n’amatongo y’uburagiriro yaho; 72 ku vy’umuryango wa Isakari, hatangwa Kedeshi+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Daberati+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 73 Ramoti+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Anemu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho; 74 ku vy’umuryango wa Asheri, hatangwa Mashali n’amatongo y’uburagiriro yaho, Abudoni+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 75 Hukoki+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Rehobu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho; 76 ku vy’umuryango wa Nafutali+, hatangwa Kedeshi+ i Galilaya+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Hamoni n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Kiriyatayimu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho.
77 Bene Merari bari basigaye, bahabwa ibisagara bikuwe ku vy’umuryango wa Zebuloni+, ari vyo Rimono+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, Tabori n’amatongo y’uburagiriro yaho; 78 mu karere ka Yorodani aharabana n’i Yeriko, mu buseruko bwa Yorodani, bahabwa ibisagara bikuwe ku vy’umuryango wa Rubeni+, ari vyo Bezeri+ mu gahinga be n’amatongo y’uburagiriro yaho, Yahazi+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 79 Kedemoti+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Mefayati+ n’amatongo y’uburagiriro yaho; 80 ku vy’umuryango wa Gadi+, hatangwa Ramoti+ i Gileyadi n’amatongo y’uburagiriro yaho, Mahanayimu+ n’amatongo y’uburagiriro yaho, 81 Heshiboni+ n’amatongo y’uburagiriro yaho be na Yazeri+ n’amatongo y’uburagiriro yaho.
7 Kandi bene Isakari bari Tola+ na Puwa+, Yashubu na Shimuroni+: bane. 2 Bene Tola na bo bari Uzi na Refaya na Yeriyeli na Yahimayi na Ibusamu na Shemuweli, bakaba bari abakuru b’inzu ya ba sekuruza. Abo kuri Tola bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, hakurikijwe abamuka kuri bo. Igitigiri cabo mu misi ya Dawidi+ cari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana atandatu. 3 Mwene* Uzi yari Izirahiya; bene Izirahiya na bo bari Mikaheli, Obadiya, Yoweli, Ishiya, na [?]*: batanu, bose bakaba bari abakuru. 4 Kandi hamwe na bo, hakurikijwe abamuka kuri bo, nk’uko inzu ya ba sekuruza babo yari, hari abasirikare bo mu ngabo bo kurwana intambara: abagabo ibihumbi mirongo itatu na bitandatu; kuko bari bafise abagore benshi n’abahungu benshi+. 5 Bene wabo bo mu miryango yose ya Isakari bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+: ibihumbi mirongo umunani n’indwi, hakurikijwe iyandikwa rifatiye ku mamuko yabo bose+.
6 Bene Benyamini+ bari Bela+ na Bekeri+ na Yediyayeli+: batatu. 7 Bene Bela+ na bo bari Eziboni na Uzi na Uziyeli na Yerimoti na Iri: batanu, bano bakaba bari abakuru b’inzu ya ba sekuruza, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi; iyandikwa ryabo rifatiye ku mamuko+ ryerekanye ko bari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri na mirongo itatu na bane. 8 Bene Bekeri na bo bari Zemira na Yowasi na Eliyezeri na Eliyowenayi na Omuri na Yeremoti na Abiya na Anatoti na Alemeti, abo bose bakaba bari bene Bekeri. 9 Iyandikwa ryabo rifatiye ku mamuko+ hakurikijwe abamuka kuri bo, ku bijanye n’abakuru b’inzu ya ba sekuruza babo, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, ryerekanye yuko bari ibihumbi mirongo ibiri n’amajana abiri. 10 Bene Yediyayeli+ bari: Bilihani; bene Bilihani na bo bari Yewushi na Benyamini na Ehudi na Kenayana na Zetani na Tarushishi na Ahishahari. 11 Abo bose bari bene Yediyayeli, hakurikijwe abakuru ba ba sekuruza babo, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+: bari ibihumbi cumi n’indwi n’amajana abiri baja mu ngabo kurwana intambara.
12 Abashupimu+ n’Abahupimu+ bari bene Ire+; Abahushimu bari bene Aheri.
13 Bene Nafutali+ bari Yahiziyeli+ na Guni+ na Yezeri na Shalumu*+, bene Biluha+.
14 Bene Manase+ bari Asiriyeli, uwavyawe n’incoreke yiwe y’Umusiriyakazi. (Iyo ncoreke yavyaye Makiri+ se wa Gileyadi. 15 Makiri aronkera umugore Hupimu na Shupimu; mushiki wabo yitwa Mayaka.) Uwugira kabiri yitwa Zelofehadi+, mugabo Zelofehadi avyara abakobwa gusa+. 16 Mu nyuma Mayaka umugore wa Makiri avyara umuhungu maze amwita Pereshi; kandi mwene wabo yitwa Shereshi; abahungu biwe na bo bari Ulamu na Rekemu. 17 Mwene Ulamu yari Bedani. Abo ni bo bari bene Gileyadi umuhungu wa Makiri, Makiri mwene Manase. 18 Mushikiwe yari Hamoleketi. Uno yibaruka Ishihodi na Abi-ezeri+ na Mahila. 19 Bene Shemida bari Ahiyani na Shekemu na Liki na Aniyamu.
20 Bene Efurayimu+ bari Shutela+, na Beredi mwene Shutela, na Tahati mwene Beredi, na Eleyada mwene Tahati, na Tahati mwene Eleyada, na 21 Zabadi mwene Tahati, na Shutela mwene Zabadi, na Ezeri be na Eleyadi. Nuko abagabo b’i Gati+ bari bavukiye muri ico gihugu bica Ezeri na Eleyadi kuko bari bamanutse kubatwara ibitungwa. 22 Maze Efurayimu se amara imisi myinshi agandaye+, bene wabo na bo bakaguma baza kumuhoza. 23 Mu nyuma aryamana n’umugore wiwe, ku buryo uno yibungenga+ maze akibaruka umuhungu. Mugabo amwita Beriya*, kuko yari mu vyago+ mu nzu yiwe. 24 Umukobwa wiwe yari Sheyera; uno yubaka Beti-horoni+, iyo hepfo+ n’iyo haruguru+, na Uzeni-sheyera. 25 Umuhungu wiwe na we yari Refa, be na Reshefu, uwa Reshefu akaba Tela, uwa Tela akaba Tahani, 26 uwa Tahani akaba Ladani, uwa Ladani akaba Amihudi, uwa Amihudi akaba Elishama, 27 uwa Elishama akaba Nuni+, uwa Nuni akaba Yehoshuwa*+.
28 Aho bigabira be n’aho baba hari aha: Beteli+ n’ibisagara bihakukira; mu buseruko yari Nayarani+, mu burengero ikaba Gezeri+ n’ibisagara bihakukira; na Shekemu+ be n’ibisagara bihakukira gushika i Gaza n’ibisagara bihakukira; 29 iruhande ya bene Manase: Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira, Megido+ n’ibisagara bihakukira, Dori+ n’ibisagara bihakukira. Muri ivyo bisagara ni ho bene Yozefu+ umuhungu wa Isirayeli baba.
30 Bene Asheri+ bari Imuna+ na Ishiva na Ishivi+ na Beriya+; Sera yari mushiki wabo. 31 Bene Beriya na bo bari Heberi na Malikiyeli, uno akaba yari se wa Birizayiti. 32 Nayo Heberi, avyara Yafileti na Shomeri na Hotamu, na Shuwa mushiki wabo. 33 Bene Yafileti bari Pasaki na Bimuhali na Ashuvati. Abo ni bo bari bene Yafileti. 34 Bene Shemeri bari Ahi na Rohuga, Yehuba na Aramu. 35 Bene Helemu mwene wabo bari Zofa na Imuna na Sheleshi na Amali. 36 Bene Zofa bari Suwa na Harineferi na Shuwali na Beri na Imura, 37 Bezeri na Hodi na Shama na Shilusha na Itirani na Beyera. 38 Bene Yeteri bari Yefune na Pisipa na Ara. 39 Bene Ula bari Ara na Haniyeli na Risiya. 40 Abo bose bari bene Asheri, abakuru+ b’inzu ya ba sekuruza babo, abagabo batowe, b’intwari+ kandi b’abanyenkomezi, abakuru b’abandi bakuru; banditswe mu ngabo ku bw’intambara hisunzwe amamuko yabo+. Igitigiri cabo cari abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu+.
8 Nayo Benyamini+, avyara Bela+ imfura yiwe na Ashubeli+ uwugira kabiri na Ahara+ uwugira gatatu na 2 Noha+ uwugira kane na Rafa uwugira gatanu. 3 Bela na we aronka abahungu: Adari na Gera+ na Abihudi, 4 na Abishuwa na Namani na Ahowa, 5 na Gera na Shefufamu+ na Huramu+. 6 Abo ni bo bari bene Ehudi. Abo ni bo bari abakuru b’amazu ya ba sekuruza mu baba i Geba+, maze babatwara mu bunyagano i Manahati. 7 Namani na Ahiya; na Gera—uno ni we yabatwaye mu bunyagano, kandi ni we yavyaye Uza na Ahihudi. 8 Nayo Shaharayimu, amaze kubirukana, avyarira abana mu karere+ ka Mowabu. Hushimu na Bayara bari abagore biwe. 9 Kuri Hodeshi umugore wiwe, avyara Yobabu na Zibiya na Mesha na Malikamu, 10 na Yewuzi na Sakiya na Mirima. Abo ni bo bari abahungu biwe, abakuru b’amazu ya ba sekuruza babo.
11 Kuri Hushimu avyara Abitubi na Elipayali. 12 Bene Elipayali bari Eberi na Mishamu na Shemedi, uwubatse Ono+ na Lodi+ n’ibisagara bihakukira; 13 Elipayali avyara na Beriya na Shema. Abo ni bo bari abakuru b’amazu ya ba sekuruza babo yegukira ababa i Ayaloni+. Abo ni bo birukanye ababa i Gati. 14 Kandi hariho Ahiyo na Shashaki na Yeremoti, 15 na Zebadiya na Aradi na Ederi, 16 na Mikaheli na Ishipa na Yoha, bene Beriya+; 17 na Zebadiya na Meshulamu na Hiziki na Heberi, 18 na Ishimerayi na Iziliya na Yobabu, bene Elipayali; 19 na Yakimu na Zikiri na Zabidi, 20 na Eliyenayi na Ziletayi na Eliyeli, 21 na Adaya na Beraya na Shimurati, bene Shimeyi+; 22 na Ishipani na Eberi na Eliyeli, 23 na Abudoni na Zikiri na Hanane, 24 na Hananiya na Elamu na Antotiya, 25 na Ifudeya na Penuweli, bene Shashaki; 26 na Shamusherayi na Shehariya na Ataliya, 27 na Yayareshiya na Eliya na Zikiri, bene Yerohamu. 28 Abo bari abakuru b’amazu ya ba sekuruza hakurikijwe abamuka kuri bo; bari abantu b’abakuru. Abo ni bo baba i Yeruzalemu+.
29 I Gibeyoni+ ni ho Yeyeli se wa Gibeyoni yaba, umugore wiwe akaba yitwa Mayaka+. 30 Umuhungu wiwe w’imfura yari Abudoni, hakaba na Zuri na Kishi na Bayali na Nadabu+, 31 na Gedori na Ahiyo na Zekeri+. 32 Mikiloti na we avyara Shimeya+. Mu vy’ukuri abo ni bo baba imbere ya bene wabo i Yeruzalemu, hamwe na bene wabo.
33 Neri+ na we avyara Kishi+; Kishi na we avyara Sauli+; Sauli na we avyara Yonatani+ na Maliki-shuwa+ na Abinadabu+ na Eshubayali+. 34 Mwene Yonatani yari Meribu-bayali+. Meribu-bayali na we avyara Mika+. 35 Bene Mika bari Pitoni na Meleki na Tareya+ na Ahazi. 36 Ahazi na we avyara Yehowada; Yehowada na we avyara Alemeti na Azimaveti na Zimuri. Zimuri na we avyara Moza; 37 Moza na we avyara Bineya, mwene Bineya ni Rafa+, mwene Rafa ni Eleyasa, mwene Eleyasa ni Azeli. 38 Azeli aronka abahungu batandatu, amazina yabo akaba yari aya: Azirikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanane. Abo bose bari bene Azeli. 39 Bene Esheki mwene wabo bari Ulamu imfura yiwe, Yewushi uwugira kabiri na Elifeleti uwugira gatatu. 40 Bene Ulamu bahavuye baba abagabo b’intwari+ kandi b’abanyenkomezi bafora umuheto+, bafise abahungu+ benshi n’abuzukuru benshi: ijana na mirongo itanu. Abo bose bakomoka ku bahungu ba Benyamini.
9 Nuko Abisirayeli bose bandikwa hakurikijwe amamuko+; kandi ehe banditswe mu Gitabu c’Abami ba Isirayeli. Yuda na yo itwarwa mu bwangaro+ i Babiloni kubera ubuhemu bwayo. 2 Abagarutse ubwa mbere mu matongo yabo mu bisagara vyabo bari Abisirayeli+, abaherezi+, Abalewi+, n’Abanetinimu*+. 3 I Yeruzalemu+ haba bamwe muri bene Yuda+ na bamwe muri bene Benyamini+ na bamwe muri bene Efurayimu no muri bene Manase, ari bo: 4 Utayi mwene Amihudi, Amihudi mwene Omuri, Omuri mwene Imuri, Imuri mwene Bani, bo muri bene Perezi+ umuhungu wa Yuda+. 5 Mu Banyashilo+: Asaya imfura be n’abahungu biwe. 6 Muri bene Zera+: Yehuweli na bene wabo amajana atandatu na mirongo icenda.
7 Muri bene Benyamini: Salu mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Hodaviya, Hodaviya mwene Hasenuwa, 8 na Ibuneya mwene Yerohamu, na Ela mwene Uzi, Uzi wa Mikiri, na Meshulamu mwene Shefatiya, Shefatiya mwene Reyuweli, Reyuweli mwene Ibuniya. 9 Bene wabo hakurikijwe abamuka kuri bo, bari amajana icenda na mirongo itanu na batandatu. Abo bose bari abagabo bari abakuru ba ba se hakurikijwe inzu ya ba sekuruza babo.
10 Mu baherezi na ho hari Yedaya na Yehoyaribu na Yakini+, 11 na Azariya+ mwene Hilikiya, Hilikiya mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Zadoki, Zadoki mwene Merayoti, Merayoti mwene Ahitubu, indongozi y’inzu y’Imana y’ukuri, 12 na Adaya mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Pashuri, Pashuri mwene Malikiya, na Mayasayi mwene Adiyeli, Adiyeli mwene Yahizera, Yahizera mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Meshilemiti+, Meshilemiti mwene Imeri, 13 na bene wabo, abakuru b’inzu ya ba sekuruza babo, igihumbi n’amajana indwi na mirongo itandatu, abagabo b’abanyenkomezi bashoboye+ gukora igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri.
14 Mu Balewi na ho hari Shemaya mwene Hashubu, Hashubu mwene Azirikamu, Azirikamu mwene Hashabiya+ wo muri bene Merari; 15 na Bakibakari na Hereshi na Galali na Mataniya+ mwene Mika+, Mika mwene Zikiri+, Zikiri mwene Asafu+, 16 na Obadiya mwene Shemaya+, Shemaya mwene Galali, Galali mwene Yedutuni+, na Berekiya mwene Asa, Asa mwene Elikana, uwaba mu mihana irundanye y’Abanyanetofa+.
17 Abarinzi b’amarembo+ bari Shalumu+ na Akubu na Talimoni na Ahimani, mwene wabo Shalumu akaba ari we yari umukuru, 18 kandi gushika ico gihe yari mw’irembo ry’umwami+ mu buseruko. Abo ni bo bari abarinzi b’amarembo b’amakambi ya bene Lewi+. 19 Shalumu mwene Kore, Kore mwene Ebiyasafu+, Ebiyasafu mwene+ Kora+, be na bene wabo bo mu nzu ya se, Aba-Kora+, ni bo bari bajejwe igikorwa, bakaba bari abarinzi b’imiryango+ y’ihema, ba se babo na bo bakaba bari bajejwe ikambi ya Yehova, bakaba bari abarinzi b’urwinjiriro. 20 Finehasi+ mwene Eleyazari+, kera ni we yari indongozi yabo. Yehova yari kumwe na we+. 21 Zekariya+ mwene Meshelemiya yari umurinzi w’irembo w’ubwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.
22 Abari baratowe bose ngo babe abarinzi b’amarembo ku minjiriro bari amajana abiri na cumi na babiri. Baba mu mihana irundanye+ yabo bakurikije iyandikwa ryabo rifatiye ku mamuko+. Abo ni bo Dawidi+ na Samweli rubonyi+ bari barashize mw’ibanga ry’ubwizigirwa ryabo+. 23 Bo hamwe n’abahungu babo bari bajejwe amarembo y’inzu ya Yehova, ari yo nzu y’ihema, bagakora igikorwa c’uburinzi+. 24 Abo barinzi b’amarembo bari mu mpande zine, mu buseruko+, mu burengero+, mu buraruko+ no mu bumanuko+. 25 Bene wabo bari mu mihana irundanye yabo bategerezwa kuza uko haciye igihe bakamarana na bo imisi indwi+. 26 Kuko mw’ibanga ry’ubwizigirwa hari abagabo b’abanyenkomezi bane bo mu barinzi b’amarembo. Bari Abalewi, bakaba bari bajejwe ivyumba vy’uburiro+ be n’amatunga+ y’inzu y’Imana y’ukuri. 27 Barara bakikije inzu y’Imana y’ukuri; kuko bari bashinzwe igikorwa c’uburinzi+, kandi ni bo bari bajejwe urupfunguruzo, egome, kugira ngo baze barugurura uko bukeye+.
28 Bamwe muri bo bari bajejwe ibikoresho+ vy’igikorwa, kuko bavyinjiza babiharūye bakongera bakabisohora babiharūye. 29 Bamwe muri bo bari bajejwe kuraba ibikoresho, n’ibikoresho vyeranda+ vyose n’ifu inoze+ n’umuvinyu+ n’amavuta+ n’imibavu ya olibani+ be n’amavuta y’umusomozo*+. 30 Bamwe mu bahungu b’abaherezi bari abahinguzi b’uruvange rw’amavuta manovu+ rugizwe n’amavuta y’umusomozo. 31 Kandi Matitiya wo mu Balewi, uwari imfura ya Shalumu+ Umu-Kora, yari mw’ibanga ry’ubwizigirwa, akaba yari ajejwe ibintu vyokejwe mu mapanu+. 32 Bamwe mu bahungu b’Abakohati, bene wabo, bari bajejwe imikate igerekeranye+, kugira ngo bayitegure buri sabato+.
33 Bano ni bo bari abaririmvyi+, abakuru ba ba se b’Abalewi mu vyumba vy’uburiro+, abari barakuweko ayandi mabango+; kuko bategerezwa kuba bari mu gikorwa cabo ku murango no mw’ijoro+. 34 Abo bari abakuru ba ba se b’Abalewi hakurikijwe abamuka kuri bo; bari abantu b’abakuru. Abo ni bo baba i Yeruzalemu+.
35 I Gibeyoni+ ni ho Yeyeli se wa Gibeyoni yaba. Umugore wiwe yitwa Mayaka. 36 Umuhungu wiwe w’imfura yari Abudoni, hakaba na Zuri na Kishi na Bayali na Neri na Nadabu, 37 na Gedori na Ahiyo na Zekariya+ na Mikiloti. 38 Mikiloti na we avyara Shimeyamu. Mu vy’ukuri abo ni bo baba imbere ya bene wabo i Yeruzalemu, hamwe na bene wabo. 39 Neri+ na we avyara Kishi+; Kishi na we avyara Sauli+; Sauli na we avyara Yonatani+ na Maliki-shuwa+ na Abinadabu+ na Eshubayali+. 40 Mwene Yonatani yari Meribu-bayali+. Meribu-bayali na we avyara Mika+. 41 Bene Mika bari Pitoni na Meleki na Tahireya na Ahazi+. 42 Ahazi na we avyara Yara; Yara na we avyara Alemeti na Azimaveti na Zimuri. Zimuri na we avyara Moza. 43 Moza na we avyara Bineya; mwene Bineya ni Refaya+, mwene Refaya ni Eleyasa, mwene Eleyasa ni Azeli. 44 Azeli aronka abahungu batandatu, amazina yabo akaba yari aya: Azirikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanane. Abo ni bo bari bene Azeli+.
10 Nuko Abafilisitiya+ barwana na Isirayeli; maze abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, baguma bagwa bagandaguwe ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sauli n’abahungu biwe; Abafilisitiya bica Yonatani+ na Abinadabu+ na Maliki-shuwa+, abahungu ba Sauli+. 3 Urugamba rwo kurwanya Sauli ruba urukomeye; abarasisha umuheto amaherezo baramubona, maze akomeretswa n’abo barashi+. 4 Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho+ ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bangirire koko ivy’agashinyaguro+.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sauli apfuye, na we nyene aca yīsuka ku nkota yiwe, arapfa+. 6 Gutyo Sauli n’abahungu biwe batatu barapfa+, n’abo mu nzu yiwe bose bapfira hamwe. 7 Abagabo ba Isirayeli bose bari mu kiyaya co hasi babonye ko bahunze be n’uko Sauli n’abahungu biwe bapfuye, batangura rero guta ibisagara vyabo, barahunga+; hanyuma Abafilisitiya barashika maze babibamwo.
8 Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura+ abagandaguwe, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa+. 9 Nuko baramwambura baraheza bamukurako umutwe+ n’ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru ibigirwamana vyabo+ be n’abantu. 10 Amaherezo bashira ibirwanisho vyiwe mu nzu y’imana yabo+, agahanga kiwe na ko bakamanika ku nzu ya Dagoni+.
11 Ab’i Yabeshi+ muri Gileyadi bose bumva ivyo Abafilisitiya bari bagiriye Sauli vyose+. 12 Nuko abagabo b’intwari bose barahaguruka, batwara ikiziga ca Sauli n’ibiziga vy’abahungu biwe, babijana i Yabeshi, maze bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini+ i Yabeshi+; hanyuma bamara imisi indwi bisonzesheje+.
13 Ukwo ni ko Sauli yapfuye bivuye ku buhemu bwiwe yari yarahemukiye+ Yehova, kubera ijambo rya Yehova atari yaragumije no kubera ko yituye uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ kugira ngo abaze. 14 Ntiyasiguza Yehova+. Ku bw’ivyo aramwica maze ingoma ayiha Dawidi mwene Yese+.
11 Mu nyuma Abisirayeli+ bose bakoranira kuri Dawidi i Heburoni+, bavuga bati: “Ehe turi igufa ryawe n’umubiri wawe+. 2 Ejo be n’imbere yaho, mbere n’igihe Sauli yari umwami, ni wewe wasohokana Isirayeli ku rugamba ukongera ukayigarukana+; maze Yehova Imana yawe akubwira ati: ‘Ni wewe uzoragira+ igisata canje Isirayeli, kandi ni wewe uzoba indongozi+ y’igisata canje Isirayeli.’” 3 Abagabo b’inararibonye ba Isirayeli bose baza rero ku mwami i Heburoni, maze Dawidi agirana isezerano na bo i Heburoni imbere ya Yehova; hanyuma barobanuza amavuta*+ Dawidi ngo abe umwami wo kuganza Isirayeli, nk’uko ijambo rya Yehova+ ryari, iryo yavuze biciye kuri Samweli+.
4 Mu nyuma Dawidi na Isirayeli yose baja i Yeruzalemu+, ari yo Yebusi+, ahantu Abayebusi+ baba muri ico gihugu. 5 Nuko ababa i Yebusi batangura kubwira Dawidi bati: “Ntuzokwinjira ng’aha+.” Ariko Dawidi atangura gufata igihome gikomeye ca Siyoni+, ni ukuvuga Igisagara ca Dawidi+. 6 Dawidi avuga rero ati: “Uwuzotangura gukubita+ Abayebusi wese, azoba umukuru n’umuganwa.” Nuko Yowabu+ mwene Zeruwiya aba ari we atangura kuduga, maze aba umukuru. 7 Nuko Dawidi aba mu kibanza kigoye gushikamwo+. Ni co gituma bacise Igisagara ca Dawidi+. 8 Hanyuma yubaka ico gisagara irya n’ino, guhera ku Kidunduri gushika mbere no ku karere kari irya n’ino yaco, mugabo Yowabu aba ari we asanura+ igice gisigaye c’ico gisagara. 9 Nuko Dawidi aguma arushiriza kuba uwukomeye+, kuko Yehova nyen’ingabo* yari kumwe na we+.
10 Aba rero ni bo bakuru ba ba bagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi, bamushigikiye rwose mu ngoma yiwe bari kumwe na Isirayeli yose, kugira ngo bamugire umwami nk’uko ijambo rya Yehova+ ryari ku vyerekeye Isirayeli. 11 Uru ni rwo rutonde rwa nya bagabo b’abanyenkomezi bari aba Dawidi: Yashobeyamu+ umuhungu w’Umuhakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana atatu biciwe icarimwe+. 12 Inyuma yiwe hari Eleyazari+ mwene Dodo Umwahohi+. Yari muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu+. 13 Ni we yari kumwe na Dawidi i Pasi-damimu+, aho Abafilisitiya bari bakoraniye ku bw’intambara. Kandi hariho igice c’itongo cari cuzuye sayiri*, abantu bakaba bari barahunze kubera Abafilisitiya+. 14 Mugabo we ahagarara hagati muri nya gice c’itongo, arakirokora maze aguma asasika Abafilisitiya, ku buryo Yehova akirisha+ ubukiriro bukomeye+.
15 Maze batatu muri ba bakuru mirongo itatu+ bamanuka kuri ca gitandara, aho Dawidi yari, kw’isenga ry’i Adulamu+, mu gihe ikambi y’Abafilisitiya yari ikambitse mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 16 Ico gihe Dawidi yari mu kibanza kigoye gushikamwo+; kandi ico gihe ikirindiro c’Abafilisitiya+ cari i Betelehemu. 17 Haciye igihe, Dawidi aserura icipfuzo gikomeye afise, avuga ati: “Icompa nkanywa+ ku mazi yo mw’itangi ry’i Betelehemu+ riri kw’irembo!” 18 Bamwe batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya, bavoma amazi muri iryo tangi ry’i Betelehemu riri kw’irembo, maze barayatwara, bayazanira Dawidi+. Dawidi ntiyemera kuyanywa, mugabo ayasuka imbere ya Yehova+. 19 Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe, ku bijanye n’Imana yanje, gukora ico kintu! Mbega nonywa amaraso+ y’aba bagabo bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga? Kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.” Nuko ntiyemera kuyanywa+. Ivyo ni vyo ba bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze.
20 Nayo Abishayi+ mwene wabo na Yowabu+, aba umukuru wa bamwe batatu; yari abanguriye icumu ryiwe ku bantu amajana atatu bishwe, kandi yari rurangiranwa nka bamwe batatu. 21 Muri bamwe batatu, yaravugangwa kurusha babiri bandi; nuko aba umukuru wabo; yamara ntiyashikira+ bamwe batatu ba mbere.
22 Nayo Benaya+ mwene Yehoyada+, umuhungu w’umugabo w’intwari, uwakoze ibikorwa vyinshi i Kabuzeyeli+, agarika ba bahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu; ni we yamanutse kugarika intambwe+ mu cobo c’amazi ku musi urubura rwariko ruragwa. 23 Kandi ni we yagaritse umugabo w’Umunyamisiri, umugabo w’igihagararo c’akataraboneka, yareha n’amatambwe*+ atanu. Kandi mu kuboko kw’uwo Munyamisiri hari icumu+ rimeze nk’igiti kizingirwako inyuzi c’abajishi b’impuzu; yamara yaramanutse aho ari yitwaje inkoni maze ashikura nya cumu mu kuboko kw’uwo Munyamisiri, araheza amwicisha iryo cumu ryiwe bwite+. 24 Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze; yari afise izina muri ba bagabo b’abanyenkomezi batatu. 25 Naho yari rurangiranwa kurusha bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere+. Ariko Dawidi amuha kugaba abamucungerera ubuzima+.
26 Ku bijanye n’abagabo b’abanyenkomezi bo mu nteko za gisirikare, hari Asaheli+ mwene wabo na Yowabu, Elihanani+ mwene Dodo w’i Betelehemu, 27 Shamoti+ Umuharori, Helezi Umupeloni+, 28 Ira+ mwene Ikeshi Umunyatekowa, Abi-ezeri Umunyanatoti+, 29 Sibekayi+ Umuhusha, Ilayi Umwahohi+, 30 Maharayi+ Umunyanetofa+, Heledi+ mwene Bayana Umunyanetofa, 31 Itayi mwene Ribayi+ w’i Gibeya+ ha bene Benyamini+, Benaya Umunyapiratoni+, 32 Hurayi wo mu myonga y’i Gayashi+, Abiyeli Umunyarabati, 33 Azimaveti Umunyabaharumi+, Eliyahuba Umunyashayaluboni, 34 bene Hashemu Umugizoni, Yonatani+ mwene Shage Umuharari, 35 Ahiyamu mwene Sakari+ Umuharari, Elifali+ mwene Uri, 36 Heferi Umumekerati, Ahiya Umupeloni, 37 Heziro Umunyakarumeli+, Nayarayi mwene Ezibayi, 38 Yoweli mwene wabo na Natani+, Mibuhari mwene Hagiri, 39 Zeleki Umwamoni, Naharayi Umunyaberoti, uwatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 40 Ira Umwituri, Garebu+ Umwituri, 41 Uriya+ Umuheti+, Zabadi mwene Ahilayi, 42 Adina mwene Shiza Umurubeni, umukuru w’Abarubeni, iruhande yiwe hakaba hari abantu mirongo itatu; 43 Hanane mwene Mayaka, na Yoshafati Umumitini, 44 Uziya Umunyashitaroti, Shama na Yeyeli, bene Hotamu Umunyaroweri, 45 Yediyayeli mwene Shimuri, na Yoha mwene wabo Umunyatizi, 46 Eliyeli Umumahavi, Yeribayi na Yoshaviya bene Elinayamu, Itima Umunyamowabu. 47 Eliyeli na Obedi na Yayasiyeli Umumezobayi.
12 Aba ni bo baje kuri Dawidi i Zikulagi+, mu gihe yari akibuze umwidegemvyo kubera Sauli+ mwene Kishi; kandi bari muri ba bagabo b’abanyenkomezi+ bafasha Dawidi mu ntambara, 2 bitwaza imiheto, bagakoresha ukuryo n’ukubamfu+ mu gutera amabuye+ bakoresheje umugozi canke mu kurasa imyampi+ bakoresheje umuheto+. Bari abo muri bene wabo na Sauli, bo muri Benyamini. 3 Hari umukuru Ahiyezeri be na Yowasi, bene Shemaya Umunyagibeya+, hakaba na Yeziyeli na Pelete bene Azimaveti+, na Beraka na Yehu Umunyanatoti+, 4 na Ishimaya Umunyagibeyoni+, umugabo w’umunyenkomezi muri bamwe mirongo itatu+, akaba kandi yagaba bamwe mirongo itatu; na Yeremiya na Yahaziyeli na Yohanani na Yozabadi Umunyagedera+, 5 na Eluzayi na Yerimoti na Beyaliya na Shemariya na Shefatiya Umuharifu, 6 na Elikana na Ishiya na Azareli na Yowezeri na Yashobeyamu, Aba-Kora+, 7 na Yowela na Zebadiya bene Yerohamu w’i Gedori.
8 Mu Bagadi, hari abitandukanije maze baja ku ruhande rwa Dawidi muri ca kibanza kigoye gushikamwo mu gahinga+, bakaba bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, abagabo bo mu ngabo z’intambara, baguma bateguye inkinzo zagutse be n’amacumu+, abari bafise mu maso nk’ah’intambwe+, kandi mu bunyarutsi bakaba bari bameze nk’ingeregere ku misozi+. 9 Ezeri yari umukuru, Obadiya uwugira kabiri, Eliyabu uwugira gatatu, 10 Mishimana uwugira kane, Yeremiya uwugira gatanu, 11 Atayi uwugira gatandatu, Eliyeli uwugira indwi, 12 Yohanani uwugira umunani, Elizabadi uwugira icenda, 13 Yeremiya uwugira cumi, Makibanayi uwugira cumi na rimwe. 14 Abo bari abo muri bene Gadi+, abakuru b’ingabo. Uwo hanyuma y’abandi yangana n’ijana, uwuhambaye kuruta abandi na we akangana n’igihumbi+. 15 Abo ni bo bajabutse Yorodani+ mu kwezi kwa mbere igihe rwari rwarenze inkombe+ zarwo zose, maze birukana abo mu biyaya vyo hasi bose, mu buseruko no mu burengero.
16 Bamwe muri bene Benyamini na Yuda baraza gushika kuri ca kibanza kigoye gushikamwo+, aho Dawidi yari. 17 Maze Dawidi arasohoka aja imbere yabo hanyuma ababwira ati: “Nimba muzanywe n’amahoro+ aho ndi kugira ngo muntabare, umutima wanje uzoba umwe n’uwanyu+. Mugabo nimba muzanywe no kungurisha ku bansi banje kandi ata kibi kiri ku biganza vyanje+, Imana+ ya ba sogokuruza bacu nibirabe iheze ibitunganye+.” 18 Nuko impwemu+ itwikira Amasayi umukuru wa bamwe mirongo itatu, avuga ati:
“Turi abawe, ewe Dawidi, kandi turi kumwe nawe+, ewe mwene Yese.
Amahoro, amahoro abe kuri wewe, kandi amahoro abe ku wugutabara,
Kuko Imana yawe yagutabaye+.”
Nuko Dawidi arabakira maze abashira mu bakuru b’abasirikare+.
19 Kandi mu ba Manase, hari abataye bakomokera kuri Dawidi igihe yazanana n’Abafilisitiya+ gutera Sauli ngo barwane; mugabo ntiyabafashije, kuko aho abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bamariye kuja inama, bamwirukanye, mu kuvuga bati: “Azoduta yomokere ku mukama wiwe Sauli, maze tuhasige agatwe+.” 20 Aje i Zikulagi+, abo mu ba Manase, ari bo Aduna na Yozabadi na Yediyayeli na Mikaheli na Yozabadi na Elihu na Ziletayi, abakuru+ b’ibihumbi bari aba Manase, barata bomokera kuri we. 21 Ni bo bafashije Dawidi kurwanya ka kagwi k’abambuzi+, kuko bose bari abagabo b’abanyenkomezi+ kandi b’intwari, maze baba abakuru mu ngabo; 22 kuko ku musi ku musi abantu baguma baza+ kuri Dawidi kumufasha, gushika ibaye ikambi nini+, nk’ikambi y’Imana+.
23 Ibi ni vyo bitigiri vy’abakuru b’abari bafise ibikwiye ku bw’ingabo baje kuri Dawidi i Heburoni+ kumuha ingoma+ ya Sauli nk’uko itegeko rya Yehova ryari+. 24 Bene Yuda batwara inkinzo zagutse n’amacumu bari ibihumbi bitandatu n’amajana umunani, bafise ibikwiye ku bw’ingabo. 25 Muri bene Simeyoni, abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari bo mu ngabo bari ibihumbi indwi n’ijana.
26 Mu bahungu b’Abalewi: ibihumbi bine n’amajana atandatu. 27 Yehoyada yari indongozi+ ya bene Aroni+, akaba yari kumwe n’abantu ibihumbi bitatu n’amajana indwi. 28 Na Zadoki+, umusore w’umunyenkomezi kandi w’intwari, n’inzu ya ba sekuruza biwe, abakuru mirongo ibiri na babiri.
29 Muri bene Benyamini+, bene wabo na Sauli+, hari ibihumbi bitatu, kandi gushika ico gihe benshi muri bo baracungera rwose inzu ya Sauli. 30 Muri bene Efurayimu na ho, hari ibihumbi mirongo ibiri n’amajana umunani, abagabo b’abanyenkomezi+ kandi b’intwari, abagabo ba rurangiranwa, hakurikijwe inzu ya ba sekuruza babo.
31 Mu gice c’umuryango wa Manase+ na ho, hari ibihumbi cumi n’umunani bari bavuzwe amazina ngo baze kwimika Dawidi abe umwami. 32 Muri bene Isakari+ bari bazi kugendereza ibihe+ kugira bamenye ico Isirayeli yabwirizwa gukora+, hari abakuru babo amajana abiri, bene wabo bose bakaba bategekwa na bo. 33 Muri Zebuloni+, abaja mu ngabo, batonda urugamba bafise ibirwanisho vyose vy’intambara, hari ibihumbi mirongo itanu, kandi mu vy’ugusegenyukira kuri Dawidi, ntibagira imitima ibiri. 34 Muri Nafutali+ na ho, hari abakuru igihumbi, kandi bari kumwe n’abagabo ibihumbi mirongo itatu n’indwi bafise inkinzo zagutse n’amacumu. 35 Mu Badani na ho, abatonda urugamba bari ibihumbi mirongo ibiri n’umunani n’amajana atandatu. 36 Muri Asheri+ na ho, abaja mu ngabo kugira ngo batonde urugamba bari ibihumbi mirongo ine.
37 Mu bavuye hakurya ya Yorodani+ bo mu Barubeni no mu Bagadi no mu gice c’umuryango wa Manase bafise ibirwanisho vyose vy’ingabo za gisirikare, hari ibihumbi ijana na mirongo ibiri. 38 Abo bose bari abarwanyi, basegenyuka baja gutonda urugamba; baza i Heburoni bafise umutima ukwiye+ kugira ngo bimike Dawidi abe umwami wa Isirayeli yose; kandi n’abasigaye bose bo muri Isirayeli bari bahuje umutima kugira ngo bimike Dawidi abe umwami+. 39 Nuko bagumana ng’aho na Dawidi imisi itatu, barya bongera banywa+, kuko bene wabo bari babiteguriye. 40 Abari hafi yabo, gushika kuri Isakari+ na Zebuloni+ na Nafutali+, na bo nyene baza barazana ibifungurwa ku ndogobwa+ no ku ngamiya no ku nyumpu no ku nka: ibiribwa vyo mw’ifu+, udutsima tw’insukoni zafyonzwe+ zikegerana n’udutsima tw’inzabibu zumye+ n’umuvinyu+ n’amavuta+ n’inka+ n’intama+ vyinshi, kuko hari umunezero+ muri Isirayeli.
13 Nuko Dawidi aja inama n’abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana be n’indongozi+ zose; 2 hanyuma Dawidi abwira ishengero rya Isirayeli ryose ati: “Nimba bibabereye vyiza kandi bikaba vyemerwa kuri Yehova Imana yacu, dutume intumwa kuri bene wacu basigaye mu turere twose twa Isirayeli+ no ku baherezi+ be n’Abalewi+ bari mu bisagara vyabo+ bifise amatongo y’uburagiriro, kugira ngo bakoranire aho turi. 3 Maze tuzane hafi yacu isandugu+ y’Imana yacu.” Kuko batari barayitayeho mu misi ya Sauli+. 4 Nuko ishengero ryose rivuga ko bigirwa gutyo, kuko ico kintu caboneka ko kibereye mu maso y’abantu bose+. 5 Dawidi akoranya+ rero Isirayeli yose, kuva ku ruzi rwa Misiri+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+, kugira ngo bazane isandugu+ y’Imana y’ukuri bayikuye i Kiriyati-yeyarimu+.
6 Maze Dawidi na Isirayeli yose baduga i Bayala+, i Kiriyati-yeyarimu, ahegukira Yuda, kugira ngo bakureyo isandugu y’Imana y’ukuri, Yehova, uwicara ku bakerubi*+, iyitirirwa izina ryiwe. 7 Ariko buriza isandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+ bayikuye mu nzu ya Abinadabu, Uza na Ahiyo+ bakaba ari bo bari bayoboye uwo mukogote. 8 Dawidi na Isirayeli yose bariko bahimbaza+ ico kintu imbere y’Imana y’ukuri n’inkomezi zose, n’indirimbo+, n’inanga+, n’ibicurarangisho vy’imirya+, n’utugoma+, n’ivyuma bisāma be n’inzumbete+. 9 Amaherezo bashika ku mbuga y’ikubitiro ya Kidoni+, maze Uza atuma ukuboko kugira ngo afate nya Sandugu+, kuko amashūri yari ahatswe kuyitembagaza. 10 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Uza ku buryo amugarika, kuko yari atumye ukuboko kuri nya Sandugu+, apfira ng’aho nyene imbere y’Imana+. 11 Maze Dawidi ashavuzwa+ n’uko Yehova yari arandamuye* Uza; aho hantu rero bahita Perezi-uza gushika n’uyu musi.
12 Nuko uwo musi Dawidi atinya Imana y’ukuri+, avuga ati: “Nzozana gute iwanje isandugu y’Imana y’ukuri+?” 13 Dawidi ntiyimurira nya Sandugu iwe, mu Gisagara ca Dawidi, mugabo ayikebereza mu nzu ya Obedi-edomu+ Umugiti+. 14 Nya sandugu y’Imana y’ukuri ibandanya kubana n’urugo rwa Obedi-edomu, mu nzu yiwe+, amezi atatu; kandi Yehova yaguma ahezagira+ urugo rwa Obedi-edomu n’ivyiwe vyose.
14 Nuko Hiramu+ umwami wa Tiro+ arungika intumwa kuri Dawidi, n’ibiti vy’amasederi+ n’abubatsi b’impome n’abakora mu vy’ibiti, kugira ngo bamwubakire inzu+. 2 Dawidi amenya rero ko Yehova yari yamushimangiye+ bwa mwami wa Isirayeli, kuko ingoma yiwe yari yashizwe hejuru rwose kubera igisata ciwe Isirayeli+.
3 Nuko Dawidi yabira abandi bagore+ i Yeruzalemu, maze Dawidi avyara abandi bahungu n’abakobwa+. 4 Aya ni yo mazina y’abana yaronkeye i Yeruzalemu: Shamuwa+ na Shobabu+, Natani+ na Salomo+, 5 na Ibuhari+ na Elishuwa na Elipeleti+, 6 na Noga na Nefegi+ na Yafiya, 7 na Elishama+ na Beyeliyada na Elifeleti+.
8 Nuko Abafilisitiya bumva yuko Dawidi yari yarobanujwe amavuta ngo abe umwami wa Isirayeli yose+. Abafilisitiya bose baca baduga kurondera Dawidi+. Dawidi avyumvise, aca asohoka kubarwanya. 9 Abafilisitiya na bo barashika maze baguma bagaba ibitero mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 10 Dawidi asiguza Imana+, ati: “Nduge kurwanya Abafilisitiya, nawe urabatanga ata gukeka mu kuboko kwanje?” Yehova aca amubwira ati: “Duga, nanje ndabatanga ata gukeka mu kuboko kwawe.” 11 Dawidi aduga rero i Bayali-perazimu+, maze abasasikira ng’aho. Nuko Dawidi avuga ati: “Imana y’ukuri yaciye igihengeri mu bansi banje biciye ku kuboko kwanje, nk’igihengeri giciwe n’amazi.” Ni co catumye aho hantu+ bahita Bayali-perazimu. 12 Nuko bata ng’aho imana zabo+. Hanyuma Dawidi atanga itegeko, maze zituririrwa mu muriro+.
13 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kugaba igitero mu kiyaya co hasi+. 14 Dawidi aca yongera gusiguza+ Imana, maze Imana y’ukuri imubwira iti: “Ntuduge inyuma yabo. Bazunguruke, uheze ushike kuri bo imbere y’ibisaka vy’imibaka+. 15 Niwumva urwamo rw’imirindi hejuru ya nya bisaka vy’imibaka+, uce usohoka uje mu rugamba+, kuko Imana y’ukuri izoba yakugiye imbere+ kugira ngo isasike ikambi y’Abafilisitiya.” 16 Dawidi agira rero nk’uko Imana y’ukuri yari yamutegetse+, basasika ikambi y’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni+ gushika i Gezeri+. 17 Nuko ukuba rurangiranwa kwa Dawidi+ gutangura gukwiragira mu bihugu vyose, kandi Yehova ubwiwe atuma amahanga yose amutinya+.
15 Abandanya kwiyubakira amazu+ mu Gisagara ca Dawidi; kandi ategurira ikibanza+ isandugu y’Imana y’ukuri yongera ayishingira ihema. 2 Ico gihe ni ho Dawidi yavuga ati: “Nta n’umwe ategerezwa kurerura isandugu y’Imana y’ukuri kiretse Abalewi, kuko ari bo Yehova yatoye ngo barerure isandugu ya Yehova+ no kugira ngo bamukorere+ gushika igihe kitagira urugero*.” 3 Maze Dawidi akoraniriza Isirayeli yose i Yeruzalemu+ kugira ngo badugane isandugu+ ya Yehova mu kibanza cayo yari yarayiteguriye.
4 Dawidi akoranya rero bene Aroni+ n’Abalewi; 5 muri bene Kohati: Uriyeli+ umukuru na bene wabo, ijana na mirongo ibiri; 6 muri bene Merari+: Asaya+ umukuru na bene wabo, amajana abiri na mirongo ibiri; 7 muri bene Gerishomu+: Yoweli+ umukuru na bene wabo, ijana na mirongo itatu; 8 muri bene Elizafani+: Shemaya+ umukuru na bene wabo, amajana abiri; 9 muri bene Heburoni: Eliyeli umukuru na bene wabo, mirongo umunani; 10 muri bene Uziyeli+: Aminadabu umukuru na bene wabo, ijana na cumi na babiri. 11 Vyongeye, Dawidi ahamagara Zadoki+ na Abiyatari+ abaherezi, n’Abalewi Uriyeli+ na Asaya+ na Yoweli+ na Shemaya+ na Eliyeli+ na Aminadabu, 12 hanyuma ababwira ati: “Muri abakuru+ ba ba se b’Abalewi. Nimwiyeze+, mwebwe na bene wanyu, muheze mudugane isandugu ya Yehova Imana ya Isirayeli mu kibanza nayiteguriye. 13 Kubera ko mutabigize ubwa mbere+, Yehova Imana yacu yaraduciyemwo igihengeri+, kuko tutamurondeye nk’uko bisanzwe biri+.” 14 Nuko abaherezi n’Abalewi bariyeza+ kugira ngo badugane isandugu ya Yehova Imana ya Isirayeli.
15 Maze abahungu b’Abalewi batangura kurerura+ isandugu y’Imana y’ukuri, nk’uko Musa yari yarategetse bivuye kw’ijambo rya Yehova, bayirerura ku bitugu, bashize iminiho yayo kuri bo+. 16 Nuko Dawidi abwira abakuru b’Abalewi ngo bashireho bene wabo b’abaririmvyi+, bafise ibicurarangisho vy’ururirimbo+, ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+ n’ivyuma bisāma+, kugira bacurarange n’ijwi ryumvikana ngo batume humvikana ijwi riteye umunezero.
17 Nuko Abalewi bashiraho Hemani+ mwene Yoweli, muri bene wabo na ho bashiraho Asafu+ mwene Berekiya; muri bene Merari bene wabo na ho bashiraho Etani+ mwene Kushaya; 18 bari kumwe na bene wabo bo mu muce ugira kabiri+, ari bo Zekariya+, Beni na Yayaziyeli na Shemiramoti na Yehiyele na Uni, Eliyabu na Benaya na Mayaseya na Matitiya na Elifelehu na Mikineya, na Obedi-edomu+ na Yeyeli abarinzi b’amarembo, 19 n’abaririmvyi Hemani+, Asafu+ na Etani, bafise ivyuma bisāma vy’umujumpu kugira ngo bavuze n’ijwi ryumvikana+; 20 na Zekariya na Aziyeli+ na Shemiramoti na Yehiyele na Uni na Eliyabu na Mayaseya na Benaya, bafise ibicurarangisho vy’imirya biregereye kuri Alamoti+; 21 na Matitiya+ na Elifelehu na Mikineya na Obedi-edomu na Yeyeli na Azaziya, bafise inanga+ ziregereye kuri Sheminiti+, kugira ngo bakore ari abayobozi; 22 na Kenaniya+ umukuru w’Abalewi mu vy’ukurerura ibintu, akaba ari we yatanga inyigisho mu vy’ukurerura ibintu, kuko yari umuhanga+; 23 na Berekiya na Elikana abarinzi b’amarembo+ barinda Isandugu; 24 na Shebaniya na Yoshafati na Netaneli na Amasayi na Zekariya na Benaya na Eliyezeri abaherezi bavuza inzumbete+ n’ijwi ryumvikana imbere y’isandugu y’Imana y’ukuri, na Obedi-edomu na Yehiya abarinzi b’amarembo barinda Isandugu.
25 Dawidi+ n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ n’abakuru+ b’ibihumbi baba ari bo bagenda kugira badugane isandugu y’isezerano rya Yehova bayikuye mu nzu ya Obedi-edomu+ banezerewe+. 26 Nuko mu gihe Imana y’ukuri yariko ifasha+ Abalewi igihe bari bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova, hashikanwa ibimasa indwi n’impfizi z’intama indwi+. 27 Kandi Dawidi yari yambaye umwitero utagira amaboko wo mu gitambara ciza; eka n’Abalewi bose bari bareruye Isandugu, be n’abaririmvyi, na Kenaniya+ umukuru w’igikorwa c’ukurerura cakorwa n’abaririmvyi+, na bo nyene bari bambaye gutyo; mugabo kuri Dawidi hari efodi*+ y’ilino. 28 Abisirayeli bose bariko badugana isandugu y’isezerano rya Yehova bavuza akaruru k’umunezero+ kandi havuzwa inzamba+ n’inzumbete+ n’ivyuma bisāma+, mu kuvuza n’ijwi ryumvikana ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+.
29 Isandugu y’isezerano+ rya Yehova ishitse mu Gisagara ca Dawidi, Mikali+ umukobwa wa Sauli, araba hasi acishije mw’idirisha maze abona Umwami Dawidi yikina amatavu yongera ahimbaza+ ico kintu; nuko atangura kumusuzugurira+ mu mutima.
16 Gutyo binjiza isandugu y’Imana y’ukuri+, bayishira mw’ihema Dawidi yari yarayishingiye+; maze batangura gushikiriza imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vy’ugusangira+. 2 Dawidi arangije gushikana ishikanwa riturirwa+ n’ibimazi vy’ugusangira+, atangura guhezagira+ abantu mw’izina rya Yehova+. 3 Vyongeye, agabanganiriza+ ibifungurwa Abisirayeli bose, umugabo n’umugore, umwe wese amuha akamanyu k’umukate k’umuzingi n’agatsima ko mu ngazi z’itende n’agatsima k’inzabibu zumye. 4 Maze ashira imbere y’isandugu ya Yehova bamwe mu Balewi+ ngo babe abasuku+, kugira ngo bibutse+ abantu no kugira ngo bakengurukire+ bongere bashemeze+ Yehova Imana ya Isirayeli: 5 Asafu+ umukuru, uwugira kabiri kuri we akaba yari Zekariya, hanyuma Yeyeli na Shemiramoti na Yehiyele na Matitiya na Eliyabu na Benaya na Obedi-edomu na Yeyeli+, bafise ibicurarangisho vyo mu bwoko bw’ibifise imirya, n’inanga+, Asafu+ akaba yari afise ivyuma bisāma vyo kuvuza n’ijwi ryumvikana+, 6 na Benaya na Yahaziyeli abaherezi bafise inzumbete+ ubudasiba imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
7 Kuri uwo musi ni ho rero Dawidi yatanga intererano+ ari bwo bwa mbere kugira akengurukire+ Yehova biciye kuri Asafu+ no kuri bene wabo:
8 “Nimukengurukire Yehova+; nimwambaze izina ryiwe+,
Mumenyeshe ibikorwa vyiwe mu bisata vy’abantu+!
12 Nimwibuke ibikorwa vyiwe vy’agatangaza yaranguye+,
Ibitangaro vyiwe n’ingingo z’ubutungane* z’akanwa kiwe+,
13 Yemwe ruvyaro rwa Isirayeli umusavyi wiwe+,
Mwebwe bene Yakobo, abo yatoye+.
14 Ni we Yehova Imana yacu+; mw’isi yose hari ingingo ziwe z’ubutungane+.
15 Nimwibuke isezerano ryiwe, egome, gushika igihe kitagira urugero+,
Mwibuke ijambo yategetse, gushika ku mayaruka igihumbi+,
16 Isezerano yagiranye na Aburahamu+,
N’indahiro yarahiye Izahaki+.
17 Iyo yagumijeho bwa ngingo nyobozi kuri Yakobo+,
Bwa sezerano ryamaho igihe kitagira urugero kuri Isirayeli+,
20 Kandi baguma bagendagenda bava mw’ihanga baja mu rindi+,
Bava mu bwami bumwe bagana ikindi gisata+.
21 Ntiyemeye ko hagira n’umwe abagunga+,
Mugabo kubera bo, yarakangiriye abami+,
22 Ati: ‘Ntimukore ku bo narobanuje amavuta,
Kandi ntihagire ikintu kibi na kimwe mugirira abahanuzi banje+.’
24 Nimwigane mu mahanga ubuninahazwa bwiwe,
Mwigane mu bisata vy’abantu vyose ibikorwa vyiwe vy’agatangaza.
25 Kuko Yehova ahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose+,
Kandi akaba akwiye gutinywa kurusha izindi mana+ zose.
28 Nimuherereze kuri Yehova, yemwe miryango y’ibisata vy’abantu,
Nimuherereze kuri Yehova ubuninahazwa n’inkomezi+.
29 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bw’izina ryiwe+,
Nimutware ingabirano mwinjire imbere yiwe+.
Nimwunamire Yehova mu gushaza kweranda+.
30 Nimugire ububabare bukaze kubera we, yemwe abo kw’isi mwese!
N’ubutaka bwimbuka burashimangiwe:
Ntibuzokwigera bunyiganyizwa+.
31 Amajuru nahimbarwe, isi na yo inezerwe+,
Nibivuge mu mahanga biti: ‘Yehova ubwiwe acitse umwami+!’
33 Ico gihe nyene, ibiti vyo mu kibira nibiturikishe binezerwe kubera Yehova+,
Kuko aje gucira imanza isi+.
34 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+,
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.
35 Muvuge muti: ‘Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,
Utwegeranye maze udukize udukuye mu mahanga+,
Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+, ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+.
36 Hahezagirwe Yehova ya Mana ya Isirayeli kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero+.’”
Nuko abantu bose bavuga bati: “Amen!” bongera bashemeza Yehova+.
37 Maze asiga Asafu+ na bene wabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo bame bakorera+ imbere y’iyo Sandugu, nk’uko bibwirizwa kugirwa ku musi ku musi+; 38 asiga na Obedi-edomu na bene wabo, mirongo itandatu n’umunani, na Obedi-edomu mwene Yedutuni na Hosa ngo babe abarinzi b’irembo; 39 asiga na Zadoki+ umuherezi na bene wabo abaherezi imbere y’itaberenakulo ya Yehova ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+, 40 kugira ngo bame bashikanira Yehova amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’ishikanwa riturirwa, mu gitondo no ku mugoroba, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Yehova, iryo yategetse Isirayeli+; 41 kandi hamwe na bo ashiraho Hemani+ na Yedutuni n’abasigaye bo mu bagabo batowe, bavuzwe+ amazina, kugira ngo bakengurukire Yehova+, kuko “ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+”; 42 Hemani+ na Yedutuni+, abashira hamwe na bo kugira ngo bavuze inzumbete+ n’ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’ururirimbo rw’Imana y’ukuri; bene+ Yedutuni na bo bashirwa kw’irembo. 43 Maze abantu bose baragenda, umwe wese ku nzu yiwe+. Nuko Dawidi aja guhezagira inzu yiwe.
17 Nuko Dawidi agitangura kuba mu nzu yiwe+, abwira Natani+ umuhanuzi ati: “Ehe jewe mba mu nzu y’amasederi+, mugabo isandugu+ y’isezerano rya Yehova yoyo iri munsi y’ibitambara vy’ihema+.” 2 Natani aca abwira Dawidi ati: “Ikintu cose kiri mu mutima wawe nugikore+, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe+.”
3 Maze iryo joro ijambo+ ry’Imana riza kuri Natani riti: 4 “Genda ubwire Dawidi umusavyi wanje uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Si wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo+. 5 Kuko ntabaye mu nzu kuva umusi nadugana Isirayeli gushika uyu musi+, mugabo naguma mva mw’ihema nja mu rindi, mva mw’itaberenakulo+ nja mu yindi+. 6 Mu gihe cose nagendagenze+ muri Isirayeli yose, hari ijambo na rimwe nabwiye umwe mu bacamanza ba Isirayeli nategetse kuragira igisata canje, nti: ‘Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi+?’”’
7 “Ubu rero, ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ni jewe nagukuye mw’itongo ry’uburagiriro, inyuma y’umukuku+, kugira ngo ube indongozi+ y’igisata canje Isirayeli. 8 Nzobana nawe aho uzoja hose+, kandi nzorandura abansi bawe+ bose imbere yawe; kandi ata gukeka nzoguha kugira izina+, nk’izina ry’abahambaye bari kw’isi+. 9 Nzogenera ikibanza abantu banje ari bo Isirayeli, ndabateragire+, na bo bazokwibera koko aho bari, kandi ntibazokwongera kubuzwa amahoro; abana b’ukutagororoka+ ntibazokwongera kubaruhisha, nk’uko babigize mu ntango+, 10 egome, guhera mu misi nashiraho abacamanza+ ngo bategeke abantu banje Isirayeli. Kandi ata gukeka nzocisha bugufi abansi+ bawe bose. Vyongeye, nkumenyesheje nti: ‘Yehova kandi azokwubakira inzu+.’
11 “‘“Imisi yawe niyakwira kugira ngo wigire uhamvye ba sogokuruza bawe+, emwe, nzohagurutsa uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe, na rwo rukazoba ari umwe mu bahungu bawe+, kandi nzoshimangira koko ingoma yiwe+. 12 Ni we azonyubakira inzu+, nanje ata gukeka nzoshimangira intebe y’ubwami yiwe gushika igihe kitagira urugero+. 13 Jewe ubwanje nzomubera se+, na we azombera umwana+; kandi sinzokura ubuntu bwuzuye urukundo bwanje kuri we+ nk’uko nabukuye ku wabayeho imbere yawe+. 14 Nzotuma ahagarara mu nzu+ yanje no mu ngoma+ yanje gushika igihe kitagira urugero, kandi intebe y’ubwami yiwe+ izoba iy’igihe kitagira urugero.”’”
15 Maze Natani avugana na Dawidi yisunze ayo majambo yose n’iryo yerekwa ryose+.
16 Inyuma y’ivyo Umwami Dawidi arinjira, yicara imbere ya Yehova+, avuga ati: “Mbega ndi nde+ ga Yehova Mana, kandi inzu yanje+ ni iki ku buryo wanshikanye iyo hose+? 17 Nk’aho ico coba ari ikintu gito mu maso yawe+, ewe Mana+, yamara uravuze ibijanye n’inzu y’umusavyi wawe gushika muri kazoza ka kure+, kandi wandavye nk’umuntu w’umunyacubahiro+, ewe Yehova Mana. 18 Ni igiki kindi Dawidi yokubwira ku bijanye n’ugutera iteka umusavyi wawe+ kandi wewe ubwawe uzi neza umusavyi wawe+? 19 Ewe Yehova, ivyo bintu bikomeye vyose wabikoze ku bw’umusavyi wawe no mu buryo buhuye n’umutima wawe+, mu kumenyekanisha ivyo bikorwa bikomeye vyose+. 20 Ewe Yehova, nta wuriho ameze nkawe+, kandi nta Mana iriho kiretse wewe+, twisunze ivyo twumvise n’amatwi yacu vyose. 21 Vyongeye, ni irindi hanga irihe mw’isi rimeze nk’abantu bawe Isirayeli+, abo Imana y’ukuri yagiye kwicungurira bwa gisata c’abantu+, kugira wiheshe izina biciye ku bikorwa bikomeye+ no ku bintu biteye ubwoba, mu kwirukana amahanga+ imbere y’abantu bawe wicunguriye ubakuye mu Misiri? 22 Nuko abantu bawe Isirayeli ubagira igisata cawe+ gushika igihe kitagira urugero, kandi wewe ubwawe, ewe Yehova, ucika Imana yabo+. 23 None rero, ewe Yehova, ijambo wavuze ku bijanye n’umusavyi wawe no ku bijanye n’inzu yiwe, niribe iryo kwizigirwa gushika igihe kitagira urugero, kandi ukore nk’uko wavuze. 24 Izina ryawe+ niribe iryo kwizigirwa ryongere ribe irihambaye+ gushika igihe kitagira urugero, kugira ngo abantu bavuge bati: ‘Yehova nyen’ingabo+, Imana ya Isirayeli+, ni Imana kuri Isirayeli+,’ kandi inzu ya Dawidi umusavyi wawe ibe iyamaho imbere yawe+. 25 Kuko wewe, Mana yanje, ari wewe wahishuriye umusavyi wawe umugambi wo kumwubakira inzu+. Ni co gitumye umusavyi wawe aronka akaryo ko gusengera imbere yawe. 26 None rero, ewe Yehova, uri Imana y’ukuri+, kandi usezeranye iyi neza ku bijanye n’umusavyi wawe+. 27 None rero, niwiyemeze koko guhezagira inzu y’umusavyi wawe kugira ngo igume imbere yawe gushika igihe kitagira urugero+; kuko ari wewe, ewe Yehova, wayihezagiye, kandi irahezagiwe gushika igihe kitagira urugero+.”
18 Inyuma y’ivyo, Dawidi atangura gukubita Abafilisitiya+ no kubamara igabo, maze afata i Gati+ n’ibisagara bihakukira ahakuye mu kuboko kw’Abafilisitiya. 2 Hanyuma atsinda Mowabu+, maze Abanyamowabu baba abasuku ba Dawidi bamuzanira ikibuguro+.
3 Dawidi atsindira kandi Hadadezeri+ umwami wa Zoba+ i Hamati+, mu gihe uno yariko aja gushinga ububasha bwiwe ku ruzi Efurate+. 4 Vyongeye, Dawidi amutwara imikogote igihumbi n’abagendera ku mafarasi ibihumbi indwi n’abagabo ibihumbi mirongo ibiri bari ku maguru+. Maze Dawidi aca ibitsi+ amafarasi yose y’imikogote+, mugabo asigaza muri yo amafarasi ijana y’imikogote. 5 Siriya y’i Damasiko ije gutabara Hadadezeri umwami wa Zoba+, Dawidi aca asasika mu Basiriya abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri. 6 Inyuma y’ivyo, Dawidi ashira ibirindiro muri Siriya y’i Damasiko+, maze Abasiriya baba abasuku ba Dawidi bamuzanira ikibuguro+. Yehova yaguma aha ubukiriro Dawidi aho yaja hose+. 7 Vyongeye, Dawidi atora inkinzo z’umuzingi+ z’inzahabu zari ku basuku ba Hadadezeri hanyuma azijana i Yeruzalemu+. 8 Dawidi atwara umujumpu mwinshi cane awukuye i Tibuhati+ n’i Kuni, ibisagara vya Hadadezeri. Salomo awukoramwo ca kiyaga c’umujumpu+ na za nkingi+ be n’ibikoresho vy’umujumpu+.
9 Toyu* umwami wa Hamati+ yumvise ko Dawidi yari yasasitse inteko za gisirikare zose za Hadadezeri+ umwami wa Zoba, 10 aca atuma Hadoramu+ umuhungu wiwe ku Mwami Dawidi kumubaza uko amerewe no kumukeza kubera yari yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yari amaze kumenyera kurwanya Toyu), kandi yari kumwe n’ubwoko bwose bw’ibintu vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu. 11 Ivyo na vyo nyene Umwami Dawidi avyereza+ Yehova, kumwe n’ifeza be n’inzahabu yari yarakuye mu mahanga yose+: muri Edomu n’i Mowabu+ no kuri bene Amoni+ no ku Bafilisitiya+ no kuri Amaleki+.
12 Nayo Abishayi+ mwene Zeruwiya+, asasika Abanyedomu mu Mubande w’Umunyu+, asasika ibihumbi cumi n’umunani. 13 Ashira rero ibirindiro muri Edomu, maze Abanyedomu bose baba abasuku ba Dawidi+. Yehova yaguma akiza Dawidi aho yaja hose+. 14 Nuko Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+, kandi yaguma ashitsa ingingo y’ubutungane be n’ubugororotsi ku bw’abantu biwe bose+. 15 Yowabu mwene Zeruwiya ni we yagaba ingabo+, Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umukarani. 16 Zadoki+ mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari+ bari abaherezi, Shavusha+ na we akaba umunyamabanga. 17 Benaya+ mwene Yehoyada+ ni we yagaba Abakereti+ n’Abapeleti+; kandi bene Dawidi bari bafise ikibanza ca mbere iruhande y’umwami+.
19 Inyuma y’ivyo, Nahashi+ umwami wa bene Amoni arapfa, maze umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 2 Nuko Dawidi avuga ati: “Nzogirira ubuntu bwuzuye urukundo+ Hanuni mwene Nahashi, kuko se wiwe yangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+.” Dawidi rero atuma intumwa kumuhoza ku bijanye na se wiwe, maze abasuku ba Dawidi bashika mu gihugu ca bene Amoni+, kwa Hanuni kugira ngo bamuhoze. 3 Ariko abaganwa ba bene Amoni babwira Hanuni bati: “Ugira ngo icatumye Dawidi atuma abo kuguhoza ni ukugira ngo atere iteka so mu maso yawe? Mbega abasuku biwe ntibazanywe kuri wewe no kugendura igihugu bitonze, kugitata+ no kugitembagaza+?” 4 Hanuni rero afata abo basuku ba Dawidi+, arabamwa+ yongera acacuramwo kubiri impuzu zabo, azicacurira ku bibuno+ vyabo, araheza arabarungika+. 5 Mu nyuma abantu baja kumenyesha Dawidi ivy’abo bagabo; na we aca atuma abaja guhura na bo, kuko bari bateterejwe cane rwose; umwami abandanya kuvuga ati: “Nimugume i Yeriko+ gushika ubwanwa bwanyu bukuze bukaba bwinshi. Muzoheza mugaruke.”
6 Mu nyuma bene Amoni babona yuko basigaye banukira+ Dawidi, maze Hanuni+ n’abo bene Amoni barungika italanto igihumbi z’ifeza+ kugira ngo bikoteshereze imikogote+ n’abagendera ku mafarasi, vyo muri Mezopotamiya n’ivy’i Aramu-mayaka+ n’ivy’i Zoba+. 7 Gutyo bikoteshereza imikogote ibihumbi mirongo itatu na bibiri+, bahera n’umwami wa Mayaka n’abantu biwe+. Hanyuma baza gukambika imbere ya Medeba+; nayo bene Amoni, bakoranira hamwe bavuye mu bisagara vyabo, baraheza rero baraza kugira ngo barwane intambara.
8 Dawidi avyumvise, aca arungika Yowabu+ n’ingabo zose n’abagabo b’abanyenkomezi+. 9 Maze bene Amoni barasohoka, batonda urugamba ku bwinjiriro bw’igisagara, kandi abami+ bari baje, bari ukwabo mu gahinga.
10 Yowabu abonye ko ibitero vyari bimuturutse imbere n’inyuma, aca atora bamwe mu bagabo b’abahizi bose bo muri Isirayeli, abatondesha urugamba kugira bahure n’Abasiriya+. 11 Abantu basigaye, abashira mu kuboko kwa Abishayi+ mwene wabo kugira batonde urugamba ngo bahure na bene Amoni+. 12 Hanyuma avuga ati: “Abasiriya+ nibaba abakomeye rwose bakananira+, umbere rero ubukiriro; mugabo bene Amoni nibaba abakomeye rwose bakakunanira, nanje rero ndagukiza+. 13 Ukomere+, kugira ngo tugire umutima rugabo turwanire abantu bacu n’ibisagara vy’Imana yacu+; nayo Yehova, arakora ico abona ko ari ciza mu maso yiwe+.”
14 Nuko Yowabu n’abantu bari kumwe na we begera imbere y’Abasiriya ngo barwane+, maze bano barahunga+ bava imbere yiwe. 15 Nayo bene Amoni, babona ko Abasiriya bahunze, na bo nyene barahunga+ bava imbere ya Abishayi mwene wabo hanyuma binjira mu gisagara+. Mu nyuma, Yowabu yinjira i Yeruzalemu.
16 Abasiriya babonye ko batsinzwe+ imbere ya Isirayeli, barungika intumwa kuzana Abasiriya bari mu karere ka rwa Ruzi+, Shofaki* umukuru w’ingabo za Hadadezeri akaba ari we yari abagiye imbere.
17 Babimenyesheje Dawidi, aca akoraniriza hamwe Isirayeli yose maze ajabuka Yorodani, ashika aho bari araheza atonda urugamba kugira ngo abarwanye+. Dawidi atonze urugamba ngo ahure n’Abasiriya, bano batangura kumurwanya. 18 Ariko Abasiriya barahunga+ kubera Isirayeli; nuko Dawidi yica mu Basiriya abatwara imikogote ibihumbi indwi n’abagabo ibihumbi mirongo ine bari ku maguru, yongera yica Shofaki umukuru w’ingabo+. 19 Abasuku ba Hadadezeri babonye ko batsinzwe imbere ya Isirayeli+, baca bagiriranira amahoro na Dawidi, batangura kumukorera+; nuko Abasiriya ntibongera gushaka kugerageza gukiza bene Amoni+.
20 Nuko umwaka utanguye+, igihe abami basanzwe basohoka ku rugamba+, Yowabu ayobora inteko zo kurwana zo mu ngabo+ maze ageseza igihugu ca bene Amoni yongera aja gusugereza Raba+, mu gihe Dawidi yaba i Yeruzalemu; maze Yowabu asasika+ Raba, ayisenyurira hasi. 2 Mugabo Dawidi akura urugori rwa Malikamu* ku mutwe wayo+, maze asanga uburemere bwarwo bupima italanto y’inzahabu, kandi rwarimwo amabuye y’agaciro; nuko ruba ku mutwe wa Dawidi. Isahu ry’ico gisagara, iryo yasohoye, ryari ryinshi cane+. 3 Abantu bari muri co arabasohora, maze abakoresha+ mu gikorwa co kugegenesha amabuye imisumeno n’ico gukoresha ibikoresho bikarishe vy’icuma be n’ico gukoresha amashoka+; ukwo ni ko Dawidi yagirira ibisagara vyose vya bene Amoni. Amaherezo Dawidi n’abantu bose basubira i Yeruzalemu.
4 Inyuma y’ivyo haduka intambara i Gezeri+ yo kurwana n’Abafilisitiya+. Ico gihe ni ho Sibekayi+ Umuhusha yagarika Sipayi* wo mu bavutse ku Barefayimu+, ku buryo Abafilisitiya bamarwa igabo.
5 Hongera kwaduka intambara yo kurwanya Abafilisitiya; nuko Elihanani+ mwene Yayiri agarika Lahumi mwene wabo na Goliyati+ Umugiti, uruti rw’icumu ryiwe rukaba rwari rumeze nk’igiti kizingirwako inyuzi c’abajishi b’impuzu+.
6 Hongera kandi kwaduka intambara i Gati+, mu gihe hari umugabo w’igihagararo c’akataraboneka+ yari afise intoke n’amano bitandatubitandatu, vyose hamwe bikaba vyari mirongo ibiri na bine+; na we nyene yari yavutse ku Barefayimu+. 7 Nuko aguma acokora+ Isirayeli. Amaherezo Yonatani umuhungu wa Shimeya+ mwene wabo na Dawidi aramugarika.
8 Abo ni bo bari bavutse ku Barefayimu+ i Gati+; nuko bagwa+ biciye ku kuboko kwa Dawidi no ku kuboko kw’abasuku biwe.
21 Maze Shetani ahagurukira Isirayeli, asunikira+ Dawidi guharūra Isirayeli. 2 Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abakuru b’abantu ati: “Gende muharure+ Isirayeli kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+ muheze munzanire ivyo mwaharuye kugira ngo menye igitigiri cabo+.” 3 Mugabo Yowabu avuga ati: “Yehova yongere ku bantu biwe abangana na bo incuro ijana+. Mbega ga mukama wanje umwami, bose si abasuku b’umukama wanje? None umukama wanje aronderera iki ivyo+? Kubera iki yokwegera Isirayeli ukwagirwa n’icaha?”
4 Ariko ijambo ry’umwami+ rinesha Yowabu, ku buryo Yowabu asohoka+ akagendagenda muri Isirayeli yose, hanyuma aza i Yeruzalemu+. 5 Nuko Yowabu aha Dawidi igitigiri c’abantu bari banditswe; Isirayeli yose yarimwo abagabo umuliyoni n’ibihumbi ijana barwanisha inkota+, Yuda na yo abagabo ibihumbi amajana ane na mirongo irindwi barwanisha inkota. 6 Mugabo Lewi+ na Benyamini ntiyari yabanditse muri bo+, kuko ijambo ry’umwami ryari ryabaye iriteye ishishi kuri Yowabu.
7 Nuko ico kintu kiba kibi mu maso y’Imana y’ukuri+, ku buryo ikubita Isirayeli. 8 Dawidi abwira rero Imana y’ukuri ati: “Nacumuye+ cane kuko nakoze ico kintu. None rero, ndakwinginze utume ikosa ry’umusavyi wawe rirengana+; kuko nakoze ivy’ubupfu rwose+.” 9 Nuko Yehova abwira Gadi+ umubonyi wa Dawidi+ ati: 10 “Genda ubwire Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Hari ibintu bitatu nshize imbere yawe+. Niwihitiremwo kimwe muri vyo, kugira ngo ndakikugirire+.”’” 11 Gadi yinjira rero kwa Dawidi+ hanyuma amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Niwihitiremwo, 12 nimba hazoca imyaka itatu hari ikigoyi+; canke amezi atatu ugesezwa imbere y’abarwanizi bawe+, inkota y’abansi bawe iguhamvya, canke hace imisi itatu hari inkota ya Yehova+ mu gihugu, egome, ikiza+, umumarayika wa Yehova agenda aratikiza+ mu karere kose ka Isirayeli.’ None rero nurabe ico ndi bwishure uwantumye.” 13 Nuko Dawidi abwira Gadi ati: “Birantuntuje cane. Ndakwinginze ngwe mu kuboko kwa Yehova+, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi cane+; mugabo singwe mu kuboko kw’umuntu+.”
14 Maze Yehova arungika ikiza+ muri Isirayeli, ku buryo muri Isirayeli hagwa abantu ibihumbi mirongo irindwi+. 15 Vyongeye, Imana y’ukuri irungika umumarayika i Yeruzalemu kugira ngo ahahonye+; agitangura kuhahonya, Yehova arabibona hanyuma atangura kwicuza kubera ico cago+; maze abwira nya mumarayika yariko arahonya ati: “Birahagije+! Ubu rero numanure ukuboko kwawe.” Uwo mumarayika wa Yehova yari ahagaze hafi y’imbuga y’ikubitiro ya Orunani*+ Umuyebusi+.
16 Dawidi araramuye amaso, abona nya mumarayika wa Yehova+ ahagaze hagati y’isi n’ijuru, yasokoye inkota+ yiwe ayifise mu kuboko, ayerekeje i Yeruzalemu; maze Dawidi n’abagabo b’inararibonye, bambaye amagunira*+, baca bagwa hasi bubamye+. 17 Nuko Dawidi abwira Imana y’ukuri ati: “None si jewe navuze ngo baharure abantu, kandi si jewe nacumuye ngakora koko nabi+? Nayo izi ntama+, zakoze iki? Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze ukuboko kwawe kuze kuri jewe no ku nzu ya dawe; mugabo ntikuze ku bantu bawe+, ngo kubateze ikiza.”
18 Nya mumarayika wa Yehova na we abwira Gadi+ ngo abwire Dawidi aduge gushingira igicaniro Yehova ku mbuga y’ikubitiro ya Orunani Umuyebusi+. 19 Dawidi araduga rero, akurikije ijambo rya Gadi, iryo yari avuze mw’izina rya Yehova+. 20 Muri ico gihe, Orunani+ arahindukira maze abona nya mumarayika; kandi abahungu biwe bane bari kumwe na we bariko barinyegeza. Kandi Orunani yari yamye arakubita ingano. 21 Nuko Dawidi araza gushika kwa Orunani. Orunani aravye akabona Dawidi+, aca ava kuri nya mbuga y’ikubitiro maze yunamira Dawidi, mu maso hiwe hashika hasi. 22 Maze Dawidi abwira Orunani ati: “Numpe aho hantu hari imbuga y’ikubitiro, kugira ngo ndahubakire igicaniro Yehova. Nuhampe+ ku mahera+ hakwiriye, kugira ngo ikiza+ kibone guhagarara kive ku bantu.” 23 Mugabo Orunani abwira Dawidi ati: “Nuhatware habe ahawe+, kandi umukama wanje umwami akore ico abona ko ari ciza. Ehe ntanze inka+ ngo zibe amashikanwa aturirwa, n’igikubitisho+ ngo kibe inkwi+, n’ingano bwa shikanwa ry’intete. Vyose ndabitanze+.”
24 Ariko Umwami Dawidi abwira Orunani ati: “Oya, ahubwo singenda ntahaguze amahera hakwiriye+, kuko ntari butware ivyawe kuri Yehova kugira ngo nshikane ibimazi biturirwa ata co biguzwe.” 25 Dawidi aha rero Orunani ku bw’aho hantu shekeli z’inzahabu zifise uburemere bw’amajana atandatu+. 26 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, araheza atangura kwambaza Yehova+, na we amwishura akoresheje umuriro+ uvuye mu majuru, uza kuri nya gicaniro c’ishikanwa riturirwa. 27 Vyongeye, Yehova ategeka nya mumarayika+, na we aca asubiza inkota yiwe mu rwubati. 28 Ico gihe, Dawidi abonye ko Yehova amwishuriye kuri nya mbuga y’ikubitiro ya Orunani Umuyebusi, abandanya kuhashikanira ibimazi+. 29 Mugabo ya taberenakulo ya Yehova Musa yari yarakoreye mu gahinga na ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa, ico gihe vyari ku kibanza gikirurutse c’i Gibeyoni+. 30 Kandi Dawidi ntiyari yarashoboye kuja imbere yaco kugira ngo abaze Imana, kuko yari yaragize ubwoba+ kubera inkota ya wa mumarayika wa Yehova.
22 Maze Dawidi avuga ati: “Aha ni ho nzu+ ya Yehova Imana y’ukuri, kandi iki ni co gicaniro+ co gushikanirako ishikanwa riturirwa ku bwa Isirayeli.”
2 Nuko Dawidi avuga ko bakoranya ba kavamahanga+ bari mu gihugu ca Isirayeli, maze abagira ababaji b’amabuye+ kugira ngo babaze amabuye+ y’ikwadarato yo kwubaka inzu y’Imana y’ukuri. 3 Vyongeye, Dawidi ategura ivyuma vyinshi vyo gukoramwo imisumari y’imiryango y’amarembo n’ivyo gukoramwo ibidadizo, ategura n’umujumpu mwinshi utoshobora gupimwa+, 4 be n’ibiti vy’amasederi+ bitagira igitigiri; kuko Abanyasidoni+ n’Abanyatiro+ bari bazaniye Dawidi ibiti vy’amasederi vyinshi. 5 Dawidi avuga rero ati: “Salomo umuhungu wanje aracari muto kandi nta nkomezi aragira+, kandi inzu igiye kwubakirwa Yehova izoba ari iy’agatangaza bimwe bihebuje+, kugira ngo ibe ntangere mu bwiza+ ku bihugu vyose. Hinge rero ndamugirire imyiteguro.” Nuko Dawidi ategura ibintu vyinshi imbere y’uko apfa+.
6 Vyongeye, ahamagara Salomo umuhungu wiwe kugira ngo amutegeke kwubakira inzu Yehova Imana ya Isirayeli. 7 Nuko Dawidi abwira Salomo umuhungu wiwe ati: “Jewe ubwanje naragize icipfuzo mu mutima wanje+ co kwubakira inzu izina+ rya Yehova Imana yanje. 8 Mugabo ijambo rya Yehova ryaje kuri jewe riti: ‘Wavishije amaraso menshi+ kandi warwanye intambara zikomakomeye+. Ntuzokwubakira inzu izina ryanje+, kuko wavishije amaraso menshi kw’isi imbere yanje. 9 Ehe uzovyarirwa umuhungu+. Azoba umugabo arangwa n’akaruhuko, kandi nzomuha ata gukeka kuruhuka abansi biwe bose impande zose+; kuko azokwitwa Salomo*+, kandi nzoha amahoro+ n’impore Isirayeli mu misi yiwe. 10 Ni we azokwubakira inzu izina ryanje+, kandi azombera umwana+, nanje ndamubere se+. Sinzobura gushimangira intebe y’ubwami y’ingoma yiwe+ kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero.’
11 “None rero mwananje, Yehova abane nawe; uze uroranirwe, wubake inzu ya Yehova Imana yawe, nk’uko yavuze ku bikwerekeye+. 12 Gusa, Yehova aguhe ukwiyubara n’ugutegera+, kandi aguhe ibwirizwa ku vyerekeye Isirayeli, egome, kugira ngo ugumye itegeko rya Yehova Imana yawe+. 13 Aho ni ho uzororanirwa+, niwitwararika gushitsa ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+ Yehova yategetse+ Musa ku bijanye na Isirayeli. Ugire umutima rugabo kandi ukomere+. Ntutinye+ canke ngo utekerwe n’ubwoba+. 14 Ehe mu kiringo c’amarushwa yanje+ narateguriye inzu ya Yehova italanto ibihumbi ijana z’inzahabu+ n’italanto umuliyoni z’ifeza; umujumpu+ n’ivyuma+ ntibishobora gupimwa kuko ari vyinshi cane; kandi nateguye ibiti n’amabuye, mugabo uzovyongereza. 15 Kandi uri kumwe n’abazokora ico gikorwa benshi, ababaji b’amabuye n’abakora mu vy’amabuye+ n’ibiti, n’umuntu wese w’umuhanga mu gikorwa c’ubwoko bwose+. 16 Inzahabu, ifeza, umujumpu n’ivyuma ntibishobora guharurwa+. Haguruka ukore+, kandi Yehova abane nawe+.”
17 Maze Dawidi ategeka abaganwa bose ba Isirayeli gufasha Salomo umuhungu wiwe, ati: 18 “Mbega Yehova Imana yanyu+ ntari kumwe namwe, kandi ntiyabahaye akaruhuko impande zose+? Kuko yatanze mu kuboko kwanje ababa mu gihugu, kandi igihugu caramazwe igabo imbere ya Yehova+ n’imbere y’abantu biwe. 19 None rero, nimushire umutima wanyu n’ubuzima bwanyu+ ku kubaza Yehova Imana yanyu+, kandi muhaguruke mwubake aheranda+ ha Yehova Imana y’ukuri+, kugira ngo muzane isandugu+ y’isezerano rya Yehova n’ibikoresho vyeranda vy’Imana y’ukuri ku nzu yubakiwe izina+ rya Yehova.”
23 Kandi Dawidi yari amaze gusaza+, ahâze imisi; yimika rero Salomo+ umuhungu wiwe ngo abe umwami wa Isirayeli. 2 Maze akoranya abaganwa bose+ ba Isirayeli n’abaherezi+ n’Abalewi+. 3 Nuko Abalewi baraharurwa kuva ku myaka mirongo itatu kuduga+; igitigiri cabo, umwumwe ukwiwe, umuntu w’umugabo ukwiwe, kiba ibihumbi mirongo itatu n’umunani. 4 Muri abo, abo kuba abahagarikizi b’igikorwa c’inzu ya Yehova bari ibihumbi mirongo ibiri na bine; abo kuba abarongozi+ n’abacamanza+ bari ibihumbi bitandatu; 5 n’ibihumbi bine vy’abarinzi b’amarembo+, n’ibihumbi bine vy’abashemeza+ Yehova ku bicurarangisho+ Dawidi yavuze ku bivyerekeye ati: “Nabikoze ngo bikoreshwe ku bw’ugushemeza.”
6 Maze Dawidi abagabanganya mu mice + ku bwa bene Lewi+, ni ukuvuga ku bwa Gerishoni, Kohati na Merari. 7 Ku bw’Abagerishoni: Ladani na Shimeyi. 8 Bene Ladani bari Yehiyele+ umukuru, na Zetamu na Yoweli+: batatu. 9 Bene Shimeyi bari Shelomoti na Haziyeli na Harani: batatu. Abo ni bo bari abakuru ba ba se ku bwa Ladani. 10 Bene Shimeyi na bo bari Yahati, Zina na Yewushi na Beriya. Abo uko ari bane bari bene Shimeyi. 11 Yahati aba umukuru, Ziza na we uwugira kabiri. Yewushi na Beriya bobo, ntibaronse abahungu benshi; baba rero inzu imwe ya ba sekuru+ ku bw’umugwi ujejwe ibango umwe.
12 Bene Kohati+ bari Amuramu, Izihari+, Heburoni+ na Uziyeli+: bane. 13 Bene Amuramu bari Aroni+ na Musa+. Mugabo Aroni ashirwa ku ruhande+ kugira ngo yeze Aheranda Rwose*+, we n’abahungu biwe gushika igihe kitagira urugero, kugira ngo bafumbishe umwotsi w’ibimazi+ imbere ya Yehova, kugira ngo bamukorere+ no kugira ngo bahezagire+ mw’izina ryiwe gushika igihe kitagira urugero. 14 Nayo Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+, abahungu biwe babandanya guharurwa mu muryango w’Abalewi+. 15 Bene Musa bari Gerishomu+ na Eliyezeri+. 16 Bene Gerishomu: Shebuweli+ umukuru. 17 Bene Eliyezeri na bo: Rehabiya+ umukuru; Eliyezeri ntiyaronka abandi bahungu, mugabo bene Rehabiya baba benshi bihebuje. 18 Bene Izihari+: Shelomiti+ umukuru. 19 Bene Heburoni bari Yeriya umukuru, Amariya uwugira kabiri, Yahaziyeli uwugira gatatu na Yekameyamu+ uwugira kane. 20 Bene Uziyeli+ bari Mika umukuru na Ishiya uwugira kabiri.
21 Bene Merari+ bari Mahili na Mushi+. Bene Mahili bari Eleyazari+ na Kishi. 22 Mugabo Eleyazari arapfa; nta bahungu yari yararonse, atari abakobwa gusa. Nuko abahungu ba Kishi bene wabo barababira+. 23 Bene Mushi bari Mahili na Ederi na Yeremoti+: batatu.
24 Abo ni bo bari bene Lewi, hakurikijwe inzu ya ba se+, abakuru ba ba se, hakurikijwe abashinzwe amabanga babo, hisunzwe igitigiri c’amazina, umwumwe ukwiwe, abarangura umurimo ujanye n’igikorwa+ c’inzu ya Yehova, kuva ku bafise imyaka mirongo ibiri kuduga+. 25 Kuko Dawidi yari yaravuze ati: “Yehova Imana ya Isirayeli yahaye akaruhuko abantu biwe+, kandi azoba i Yeruzalemu gushika igihe kitagira urugero+. 26 Bisubiye, Abalewi ntibizoba ngombwa ko barerura itaberenakulo canke ico ari co cose mu bikoresho vyayo bikoreshwa igikorwa cayo+.” 27 Kuko, hisunzwe amajambo+ ya nyuma ya Dawidi, abo bari igitigiri ca bene Lewi, kuva ku bafise imyaka mirongo ibiri kuduga. 28 Kuko igikorwa cabo cari ico gufasha bene Aroni+ ku bijanye n’igikorwa co ku nzu ya Yehova, ku vyerekeye ibigo+, ivyumba vy’uburiro+, ugutyorora ikintu ceranda cose+, be n’umurimo w’igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri, 29 egome, ku bijanye n’imikate igerekeranye+ no ku bijanye n’ifu inoze+ y’ishikanwa ry’intete no ku bijanye n’udukate+ tutagiramwo+ umwambiro no ku bijanye n’udutsima two kw’ikarayi+ no ku bijanye n’igicumbe kivanze+ no ku bijanye n’ingero zose z’ibiseseka n’iz’uburebure+; 30 no ku bijanye n’uguhagarara+ ng’aho buri gitondo+ kugira ngo bakengurukire+ bongere bashemeze+ Yehova, bakabigenza gutyo nyene no ku mugoroba; 31 no ku bijanye n’ugushikanira Yehova ibimazi biturirwa ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku biringo vy’imisi mikuru+, hakurikijwe igitigiri, hisunzwe ingingo ivyerekeye, bakama babigira imbere ya Yehova. 32 Kandi bitwararika ivyo kurinda+ ihema ry’ihuriro no kurinda ahantu heranda+ no kurinda abahungu ba Aroni bene wabo, ku bw’igikorwa c’inzu ya Yehova+.
24 Nuko bene Aroni bagaburwa mu mice. Bene Aroni bari Nadabu+ na Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+. 2 Ariko Nadabu na Abihu+ bapfa imbere ya se+; nta bahungu bari bararonse, mugabo Eleyazari+ na Itamari babandanya gukora ari abaherezi. 3 Dawidi, na Zadoki+ wo muri bene Eleyazari, na Ahimeleki+ wo muri bene Itamari, babagabura mu mice ku bw’ibanga ryabo mu gikorwa cabo+. 4 Mugabo bene Eleyazari bari bafise abakuru benshi kurusha bene Itamari. Nuko barabagabanganya ku buryo bene Eleyazari baronka cumi na batandatu ngo babe abakuru b’amazu ya ba sekuru, bene Itamari na bo baronka umunani ngo babe abakuru b’amazu ya ba sekuru yabo.
5 Vyongeye, babagabanganya biciye ku bupfindo+, bano kumwe na bariya, kuko hategerezwa kubaho abakuru b’ahantu heranda+ n’abakuru bakorera Imana y’ukuri mu bahungu ba Eleyazari no mu bahungu ba Itamari. 6 Maze Shemaya mwene Netaneli, umunyamabanga+ w’Abalewi, abandikira imbere y’umwami n’abaganwa n’imbere ya Zadoki+ umuherezi na Ahimeleki+ mwene Abiyatari+ n’imbere y’abakuru ba ba se b’abaherezi n’ab’Abalewi+, hagatorwa inzu ya ba sekuru imwe ku bwa Eleyazari+ hagatorwa n’imwe ku bwa Itamari+.
7 Nuko ubupfindo burasohoka: ubwa mbere buba ubwa Yehoyaribu+; ubugira kabiri buba ubwa Yedaya, 8 ubugira gatatu buba ubwa Harimu, ubugira kane buba ubwa Seworimu, 9 ubugira gatanu buba ubwa Malikiya, ubugira gatandatu buba ubwa Miyamini, 10 ubugira indwi buba ubwa Hakozi, ubugira umunani buba ubwa Abiya+, 11 ubugira icenda buba ubwa Yeshuwa, ubugira cumi buba ubwa Shekaniya, 12 ubugira cumi na rimwe buba ubwa Eliyashibu, ubugira cumi na kabiri buba ubwa Yakimu, 13 ubugira cumi na gatatu buba ubwa Hupa, ubugira cumi na kane buba ubwa Yeshebeyabu, 14 ubugira cumi na gatanu buba ubwa Biliga, ubugira cumi na gatandatu buba ubwa Imeri, 15 ubugira cumi n’indwi buba ubwa Heziri, ubugira cumi n’umunani buba ubwa Hapizezi, 16 ubugira cumi n’icenda buba ubwa Petahiya, ubugira mirongo ibiri buba ubwa Yehezikeli, 17 ubugira mirongo ibiri na rimwe buba ubwa Yakini, ubugira mirongo ibiri na kabiri buba ubwa Gamuli, 18 ubugira mirongo ibiri na gatatu buba ubwa Delaya, ubugira mirongo ibiri na kane buba ubwa Mayaziya.
19 Ayo ni yo yari amabanga+ yabo ku bw’igikorwa+ cabo, kugira ngo binjire mu nzu ya Yehova, hakurikijwe uburenganzira bwabo+ bwatanzwe n’ukuboko kwa Aroni sekuruza wabo, nk’uko Yehova Imana ya Isirayeli yari yaramutegetse.
20 Muri bene Lewi bari basigaye: muri bene Amuramu+ hari Shubayeli+; muri bene Shubayeli hari Yehideya; 21 kuri Rehabiya+: muri bene Rehabiya hari Ishiya umukuru; 22 mu Bizihari+ hari Shelomoti+; muri bene Shelomoti hari Yahati; 23 bene Heburoni+: Yeriya+ umukuru, Amariya uwugira kabiri, Yahaziyeli uwugira gatatu na Yekameyamu uwugira kane. 24 Bene Uziyeli: Mika; muri bene Mika+ hari Shamiri. 25 Mwene wabo na Mika yari Ishiya; muri bene Ishiya hari Zekariya.
26 Bene Merari+ bari Mahili+ na Mushi+; bene Yayaziya: Beno. 27 Bene Merari: Kuri Yayaziya hari Beno na Shohamu na Zakuri na Iburi. 28 Kuri Mahili hari Eleyazari, uwutaronse abahungu+. 29 Kuri Kishi: bene Kishi: Yerahimeyeli. 30 Bene Mushi bari Mahili+ na Ederi na Yerimoti+.
Abo ni bo bari abahungu b’Abalewi hakurikijwe amazu ya ba sekuru+ yabo. 31 Na bo nyene bapfinda ubupfindo+ neza na neza nk’uko bene wabo abahungu ba Aroni bagize imbere ya Dawidi umwami n’imbere ya Zadoki na Ahimeleki n’imbere y’abakuru b’amazu ya ba sekuru b’abaherezi n’ab’Abalewi. Na ho ku bijanye n’amazu ya ba sekuru+, umukuru yafatwa cokimwe na mwene wabo mutoyi.
25 Vyongeye, Dawidi n’abakuru+ b’imigwi y’abakora igikorwa+ batandukanya ku bw’igikorwa bamwe muri bene Asafu na Hemani+ na Yedutuni+, abavuga ubuhanuzi bakoresheje inanga+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’ivyuma bisāma+. Muri bo harimwo abagabo bari n’ivyo bajejwe ku bw’igikorwa cabo. 2 Muri bene Asafu: Zakuri na Yozefu+ na Netaniya na Asharela+, bene Asafu bari bayobowe na Asafu+, uwavuga ubuhanuzi ayobowe n’umwami. 3 Kuri Yedutuni+: bene Yedutuni ari bo Gedaliya+ na Zeri+ na Yeshaya+ na Shimeyi na Hashabiya na Matitiya+, batandatu, bakaba bayoborwa na se Yedutuni, uwavuga ubuhanuzi akoresheje inanga kugira ngo akengurukire yongere ashemeze Yehova+. 4 Kuri Hemani+: bene Hemani ari bo Bukiya+ na Mataniya+ na Uziyeli+ na Shebuweli na Yerimoti na Hananiya+ na Hanani na Eliyata+ na Gidaliti+ na Romamuti-ezeri+ na Yoshibekasha+ na Maloti+ na Hotiri+ na Mahaziyoti. 5 Abo bose bari bene Hemani, umubonyi+ w’umwami mu bintu vy’Imana y’ukuri yaduza ihembe ryiwe; gutyo Imana y’ukuri iha Hemani abahungu cumi na bane n’abakobwa batatu+. 6 Abo bose bari bayobowe na se mu vyo kuririmba ku nzu ya Yehova, bakoresheje ivyuma bisāma+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+ ku bw’igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri.
Abayoborwa n’umwami bari Asafu na Yedutuni na Hemani+.
7 Igitigiri cabo hamwe na bene wabo bamenyerejwe mu vy’ukuririmbira Yehova+, abahanga+ bose, cari amajana abiri na mirongo umunani n’umunani. 8 Bapfinda rero ubupfindo+ ku bijanye n’ibintu vyo kwitwararika, umutoyi ari kimwe n’uwuhambaye+, umuhanga+ hamwe n’uwiga.
9 Nuko ubupfindo burasohoka: ubwa mbere buba ubwa Asafu ku bwa Yozefu+, ubugira kabiri buba ubwa Gedaliya+ (we na bene wabo be n’abahungu biwe bari cumi na babiri); 10 ubugira gatatu buba ubwa Zakuri+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 11 ubugira kane buba ubwa Iziri+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 12 ubugira gatanu buba ubwa Netaniya+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 13 ubugira gatandatu buba ubwa Bukiya n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 14 ubugira indwi buba ubwa Yesharela+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 15 ubugira umunani buba ubwa Yeshaya n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 16 ubugira icenda buba ubwa Mataniya n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 17 ubugira cumi buba ubwa Shimeyi n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 18 ubugira cumi na rimwe buba ubwa Azareli+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 19 ubugira cumi na kabiri buba ubwa Hashabiya n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 20 ubugira cumi na gatatu buba ubwa Shubayeli+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 21 ubugira cumi na kane buba ubwa Matitiya n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 22 ubugira cumi na gatanu buba ubwa Yeremoti n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 23 ubugira cumi na gatandatu buba ubwa Hananiya n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 24 ubugira cumi n’indwi buba ubwa Yoshibekasha n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 25 ubugira cumi n’umunani buba ubwa Hanani n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 26 ubugira cumi n’icenda buba ubwa Maloti n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 27 ubugira mirongo ibiri buba ubwa Eliyata n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 28 ubugira mirongo ibiri na rimwe buba ubwa Hotiri n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 29 ubugira mirongo ibiri na kabiri buba ubwa Gidaliti n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 30 ubugira mirongo ibiri na gatatu buba ubwa Mahaziyoti+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri; 31 ubugira mirongo ibiri na kane buba ubwa Romamuti-ezeri+ n’abahungu biwe na bene wabo: cumi na babiri.
26 Ivyerekeye imice y’abarinzi b’amarembo+: Mu Ba-Kora+: Meshelemiya+ mwene Kore wo muri bene Asafu. 2 Meshelemiya aronka abahungu: Zekariya imfura, Yediyayeli uwugira kabiri, Zebadiya uwugira gatatu, Yatiniyeli uwugira kane, 3 Elamu uwugira gatanu, Yehohanani uwugira gatandatu, Eliyeho-enayi uwugira indwi. 4 Obedi-edomu+ aronka abahungu: Shemaya imfura, Yehozabadi uwugira kabiri, Yowa uwugira gatatu, Sakari uwugira kane, Netaneli uwugira gatanu, 5 Amiyeli uwugira gatandatu, Isakari uwugira indwi, Pewuletayi uwugira umunani; kuko Imana yari yaramuhezagiye+.
6 Nuko Shemaya umuhungu wiwe avyarirwa abahungu babaye abatware b’inzu ya se, kuko bari abagabo babishoboye kandi b’abanyenkomezi. 7 Bene Shemaya: Otini na Refaheli na Obedi na Elizabadi, bene wabo bakaba bari abagabo babishoboye, ari bo Elihu na Semakiya. 8 Abo bose bari abo muri bene Obedi-edomu, bo n’abahungu babo be na bene wabo, abagabo babishoboye bafise inkomezi zo gukora igikorwa, bakaba bari mirongo itandatu na babiri begukira Obedi-edomu. 9 Meshelemiya+ aronka abahungu na bene wabo, bakaba bari abagabo babishoboye cumi n’umunani. 10 Hosa wo muri bene Merari aronka abahungu. Shimuri ni we yari umukuru, kuko naho atari imfura+, se wiwe yamugenye kuba umukuru+; 11 Hilikiya uwugira kabiri, Tebaliya uwugira gatatu, Zekariya uwugira kane. Abahungu ba Hosa na bene wabo, bose hamwe bari cumi na batatu.
12 Muri iyo mice y’abarinzi b’amarembo, abakuru bari bafise ibikorwa nk’uko bene wabo bari babifise+, vyo gukorera ku nzu ya Yehova. 13 Nuko bapfinda ubupfindo+, ku bw’umuto cokimwe no ku bw’uwuhambaye, hakurikijwe amazu ya ba sekuru+ yabo, ku bw’amarembo atandukanye. 14 Maze ubupfindo bwo mu buseruko buba ubwa Shelemiya+. Bapfinda ubupfindo ku bwa Zekariya+ umuhungu wiwe, umujanama+ yiyubara, maze ubupfindo bwiwe busohoka bwerekana mu buraruko+. 15 Ubwa Obedi-edomu bwerekana mu bumanuko, abahungu biwe+ na bo baronka ibigega+. 16 Ubwa Shupimu na Hosa+ bwerekana mu burengero, hafi y’Irembo Shaleketi, iruhande y’inzira y’ikirari iduga, umugwi wo kurinda+ ugatumberana n’uwundi mugwi wo kurinda+; 17 mu buseruko hari Abalewi batandatu; mu buraruko bane ku musi+; mu bumanuko bane ku musi; ku bw’ububiko+ na ho, babiribabiri; 18 ku bw’ibaraza mu burengero, bane iruhande y’inzira y’ikirari+, babiri kw’ibaraza. 19 Iyo ni yo yari imice y’abarinzi b’amarembo yo mu bahungu b’Aba-Kora+ n’iyo muri bene Merari+.
20 Ku bijanye n’Abalewi, Ahiya yari ajejwe amatunga+ y’inzu y’Imana y’ukuri n’amatunga y’ibintu vyagizwe vyeranda+. 21 Bene Ladani+, ari bo bahungu b’Umugerishoni begukira Ladani, bakaba bari abakuru b’amazu ya ba sekuru begukira Ladani Umugerishoni: Yehiyeli+. 22 Bene Yehiyeli, ari bo Zetamu na Yoweli+ mwene wabo, bari bajejwe amatunga+ y’inzu ya Yehova. 23 Ku bijanye n’Abamuramu, ku bijanye n’Abizihari, ku bijanye n’Abaheburoni, ku bijanye n’Abuziyeli+, 24 egome, Shebuweli+ mwene Gerishomu, Gerishomu wa Musa ni we yari indongozi ijejwe ububiko. 25 Ku bijanye na bene wabo: kuri Eliyezeri+ hari Rehabiya+ umuhungu wiwe na Yeshaya wa Rehabiya na Yoramu wa Yeshaya na Zikiri wa Yoramu na Shelomoti wa Zikiri. 26 Uwo Shelomoti na bene wabo bari bajejwe amatunga yose y’ibintu vyagizwe vyeranda+, ivyo Dawidi+ umwami, n’abakuru b’amazu ya ba sekuru+ babo, n’abakuru b’ibihumbi n’ab’amajana, n’abakuru b’ingabo bari baragize vyeranda. 27 Ku vyavuye mu ntambara+ no ku vyavuye mw’isahu+ hari ivyo bari baragize vyeranda kugira ngo bibungabunge inzu ya Yehova. 28 Bari bajejwe kandi ibintu vyose Samweli rubonyi+ na Sauli mwene Kishi na Abuneri+ mwene Neri na Yowabu+ mwene Zeruwiya+ bari baragize vyeranda. Ivyo umuntu wese yagira vyeranda vyagabwa na Shelomiti be na bene wabo.
29 Mu Bizihari+, Kenaniya n’abahungu biwe bari bajejwe ivyo hanze+ ari abarongozi n’abacamanza+ kuri Isirayeli.
30 Mu Baheburoni+, Hashabiya na bene wabo, abagabo babishoboye+ igihumbi n’amajana indwi, bari bajejwe ivy’ubuyobozi bwa Isirayeli mu karere ka Yorodani, mu burengero, ku bijanye n’igikorwa cose ca Yehova no ku bijanye n’igikorwa c’umwami. 31 Mu Baheburoni, Yeriya+ yari umukuru w’Abaheburoni hakurikijwe amayaruka yabo, nk’uko ba sekuruza bari. Nuko mu mwaka ugira mirongo ine+ w’ingoma ya Dawidi, barabarondera maze baronka muri bo abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, i Yazeri+ muri Gileyadi+. 32 Bene wabo n’uwo, abagabo babishoboye+, bari ibihumbi bibiri n’amajana indwi, abakuru b’amazu ya ba sekuru+. Dawidi umwami abashinga rero kugaba Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango w’Abamanase+, ku bijanye n’ibintu vyose vy’Imana y’ukuri be n’ibintu+ vyose vy’umwami.
27 Nayo bene Isirayeli hakurikijwe igitigiri cabo, abakuru b’amazu ya ba sekuru+ n’abakuru+ b’ibihumbi n’ab’amajana+ n’abarongozi babo bakorera+ umwami mu bintu vyose vy’imice y’abinjira n’abasohoka ku kwezi ku kwezi, mu mezi yose y’umwaka, umuce umwumwe wose wari ugizwe n’ibihumbi mirongo ibiri na bine.
2 Uwagaba umuce wa mbere w’ukwezi kwa mbere yari Yashobeyamu+ mwene Zabidiyeli; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 3 Bamwe muri bene Perezi+ umukuru w’abakuru bose b’imigwi y’abakora igikorwa bari ab’ukwezi kwa mbere. 4 Uwagaba umuce w’ukwezi kugira kabiri yari Dodayi+ Umwahohi+, Mikiloti akaba ari we yari indongozi; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 5 Umukuru w’umugwi w’abakora igikorwa ugira gatatu ku bw’ukwezi kugira gatatu yari Benaya+ mwene Yehoyada+ umukuru w’abaherezi; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 6 Uwo Benaya+ yari umugabo w’umunyenkomezi muri bamwe mirongo itatu+ akaba kandi yagaba abo mirongo itatu; uwari umukuru w’umuce wiwe yari Amizabadi umuhungu wiwe. 7 Uwugira kane ku bw’ukwezi kugira kane yari Asaheli+, mwene wabo na Yowabu+, mu nyuma ziwe na ho Zebadiya umuhungu wiwe; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 8 Umukuru agira gatanu ku bw’ukwezi kugira gatanu yari Shamuhuti+ Umwizirahiya; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 9 Uwugira gatandatu ku bw’ukwezi kugira gatandatu yari Ira+ mwene Ikeshi+ Umunyatekowa+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 10 Uwugira indwi ku bw’ukwezi kugira indwi yari Helezi+ Umupeloni+ wo muri bene Efurayimu; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 11 Uwugira umunani ku bw’ukwezi kugira umunani yari Sibekayi+ Umuhusha wo mu Bazera+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 12 Uwugira icenda ku bw’ukwezi kugira icenda yari Abi-ezeri+ Umunyanatoti+ wo mu Babenyamini; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 13 Uwugira cumi ku bw’ukwezi kugira cumi yari Maharayi+ Umunyanetofa wo mu Bazera+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 14 Uwugira cumi na rimwe ku bw’ukwezi kugira cumi na rimwe yari Benaya+ Umunyapiratoni wo muri bene Efurayimu+; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine. 15 Uwugira cumi na kabiri ku bw’ukwezi kugira cumi na kabiri yari Heludayi+ Umunyanetofa, wo kuri Otiniyeli; mu muce wiwe hari ibihumbi mirongo ibiri na bine.
16 Abagaba imiryango ya Isirayeli+: mu Barubeni: Eliyezeri mwene Zikiri ni we yari indongozi; mu Basimeyoni: Shefatiya mwene Mayaka; 17 kuri Lewi: Hashabiya mwene Kemuweli; kuri Aroni: Zadoki+; 18 kuri Yuda: Elihu+, umwe muri bene wabo na Dawidi+; kuri Isakari: Omuri mwene Mikaheli; 19 kuri Zebuloni: Ishimaya mwene Obadiya; kuri Nafutali: Yerimoti mwene Aziriyeli; 20 muri bene Efurayimu: Hosheya mwene Azaziya; mu gice c’umuryango wa Manase: Yoweli mwene Pedaya; 21 mu gice c’umuryango wa Manase c’i Gileyadi: Ido mwene Zekariya; kuri Benyamini: Yayasiyeli mwene Abuneri+; 22 kuri Dani: Azareli mwene Yerohamu. Abo ni bo bari abaganwa+ b’imiryango ya Isirayeli.
23 Ariko Dawidi ntiyaharura igitigiri c’abari bafise imyaka iva kuri mirongo ibiri kuja munsi, kuko Yehova yari yarasezeranye gutuma Isirayeli ingana n’inyenyeri zo mu majuru+. 24 Yowabu+ mwene Zeruwiya yari yatanguye guharūra, mugabo ntiyarangiza+; ku bw’ivyo Isirayeli irarakarirwa+, maze ico gitigiri nticaja mu nkuru y’ivyo mu misi y’Umwami Dawidi.
25 Uwari ajejwe amatunga y’umwami+ yari Azimaveti mwene Adiyeli. Uwari ajejwe amatunga mu gihugu hagati+, mu bisagara+ no mu bigwati no mu minara yari Yonatani mwene Uziya. 26 Uwari ajejwe abakora igikorwa co mu mirima+, ku bwo kurima ubutaka, yari Eziri mwene Kelubu. 27 Uwari ajejwe imirima y’imizabibu+ yari Shimeyi Umunyarama; uwari ajejwe ivyari mu mirima y’imizabibu ku bw’ibigega vy’umuvinyu yari Zabidi Umunyasifumoti. 28 Uwari ajejwe imirima y’imyelayo n’ibiti vy’imisukomora+ vyari muri Shefela*+ yari Bayali-hanani Umunyagederi; uwari ajejwe ibigega vy’amavuta+ yari Yowasi. 29 Uwari ajejwe amasho yarisha i Sharoni+ yari Shiturayi Umunyasharoni; uwari ajejwe amasho mu biyaya vyo hasi yari Shafati mwene Adulayi. 30 Uwari ajejwe ingamiya+ yari Obili Umwishimayeli+; uwari ajejwe indogobwa z’ingore yari Yehideya Umunyameronoti. 31 Uwari ajejwe imikuku yari Yazizi Umuhaguri. Abo bose bari abakuru b’ibintu vyegukira Umwami Dawidi.
32 Yonatani+, umuhungwabo wa Dawidi, yari umujanama, umugabo w’umunyabwenge+, akaba ari na we yari umunyamabanga; Yehiyele mwene Hakimoni+ yari ajejwe abana b’umwami+. 33 Ahitofeli+ yari umujanama+ w’umwami; Hushayi+ Umwaruki+ yari umugenzi w’umwami+. 34 Mu nyuma za Ahitofeli haza Yehoyada mwene Benaya+ be na Abiyatari+; Yowabu+ yari umukuru w’ingabo z’umwami.
28 Maze Dawidi akoranya abaganwa+ bose ba Isirayeli, abaganwa+ b’imiryango n’abaganwa+ b’imice y’abakorera umwami, n’abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana+, n’abakuru b’ibintu+ vyose n’ibitungwa+ vy’umwami, n’abakuru b’abahungu biwe+ hamwe n’abakozi bo ku kirimba+ n’abagabo b’abanyenkomezi+, egome, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi, abakoraniriza i Yeruzalemu. 2 Maze Dawidi umwami arahaguruka hanyuma avuga ati:
“Nimunyumve, bene wacu kandi bantu banje. Jewe naragize icipfuzo mu mutima wanje+ co kwubakira isandugu y’isezerano rya Yehova inzu y’uburuhukiro, ngo ibe intebe y’ibirenge+ vy’Imana yacu, kandi nari naragize imyiteguro yo kwubaka+. 3 Maze Imana y’ukuri ubwayo imbwira iti: ‘Ntuzokwubakira inzu izina ryanje+, kuko uri umurwanyi kandi ukaba waravishije amaraso+.’ 4 Yehova Imana ya Isirayeli yarantoye rero mu nzu yose ya dawe+ ngo mbe umwami+ wa Isirayeli gushika igihe kitagira urugero; kuko Yuda ari we yatoye ngo abe indongozi+, kandi mu nzu ya Yuda agatora inzu ya dawe+, kandi mu bahungu ba dawe+ akaba ari jewe yashimye+ ngo angire umwami wa Isirayeli yose; 5 mu bahungu banje bose na ho (kuko abahungu Yehova yampaye ari benshi+), yatoye rero Salomo+ umuhungu wanje ngo yicare ku ntebe y’ubwami+ y’ingoma ya Yehova kugira aganze Isirayeli.
6 “Vyongeye, yambwiye ati: ‘Salomo umuhungu wawe ni we azokwubaka inzu yanje+ n’ibigo vyanje; kubera ko namutoye ngo abe umwana wanje+, nanje nzoba se+. 7 Nzoshimangira koko ingoma yiwe+ gushika igihe kitagira urugero niyiyemeza rwose gushitsa amabwirizwa yanje+ n’ingingo z’ubutungane zanje+, nk’uko biri uyu musi.’ 8 Ubu rero, mu maso ya Isirayeli yose, ari ryo shengero rya Yehova+, no mu matwi y’Imana yacu+, nimwitwararike mwongere murondere amabwirizwa yose ya Yehova Imana yanyu, kugira ngo mwigabire iki gihugu ciza+ kandi muze mukirage koko bwa ntoranwa abahungu banyu mu nyuma zanyu gushika igihe kitagira urugero.
9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+. 10 Nubirabe rero, kuko Yehova ubwiwe yagutoye ngo wubake inzu kugira ngo ibe aheranda. Gira umutima rugabo, ukore+.”
11 Nuko Dawidi aha Salomo umuhungu wiwe umugero w’ubwubatsi+ w’ibaraza+, n’uw’amazu y’iryo baraza n’ivyumba vy’ubushinguro+ vyarwo n’ivyumba vyo hejuru+ vyarwo n’ivyumba vyarwo vy’imbere vyijimye n’inzu ya wa murumyo w’impongano*+; 12 egome, umugero w’ubwubatsi w’ikintu cose yari yarahishuriwe biciye ku guhumekerwa+, ku bijanye n’ibigo+ vy’inzu ya Yehova no ku bijanye n’ivyumba vy’uburiro+ vyose vyari irya n’ino, ku bijanye n’amatunga y’inzu y’Imana y’ukuri no ku bijanye n’amatunga y’ibintu vyagizwe vyeranda+; 13 amuha n’ubuyobozi ku bijanye n’imice+ y’abaherezi n’iy’Abalewi no ku bijanye n’umurimo wose w’igikorwa c’inzu ya Yehova no ku bijanye n’ibikoresho vyose vy’igikorwa c’inzu ya Yehova; 14 amubwira n’uburemere bw’inzahabu, inzahabu y’ibikoresho vyose bigenewe ibikorwa bitandukanye, n’uburemere bw’ifeza y’ibikoresho vyose vy’ifeza, ibikoresho+ vyose bigenewe ibikorwa bitandukanye; 15 n’uburemere bw’inzahabu y’ibitereko vy’amatara+ vy’inzahabu n’amatara yavyo y’inzahabu, nk’uko uburemere bw’ibitereko vy’amatara bitandukanye be n’amatara yavyo buri; ku bijanye n’ibitereko vy’amatara vy’ifeza, amubwira uburemere bw’ifeza y’igitereko c’amatara n’amatara yaco, nk’uko igikorwa c’ibitereko vy’amatara bitandukanye kiri; 16 amubwira n’uburemere bw’inzahabu igenewe imeza z’imikate igerekeranye+, ku bw’imeza zitandukanye, n’uburemere bw’ifeza igenewe imeza z’ifeza; 17 n’amakanya n’amabakure+ n’amakarabo vy’inzahabu itavanze, amubwira n’uburemere bw’inzahabu igenewe amabakure+ matomato y’inzahabu, ku bw’amabakure matomato atandukanye, amubwira n’uburemere bw’ifeza igenewe amabakure matomato y’ifeza, ku bw’amabakure matomato atandukanye; 18 n’uburemere bw’inzahabu ityoroye igenewe igicaniro c’imibavu+, amuha n’ishusho y’umukogote+, ari wo bakerubi+ b’inzahabu bo gusanza amababa bagakīngīra isandugu y’isezerano rya Yehova. 19 Nuko Dawidi avuga ati: “Yarampaye mu nyandiko+ ugutahura kwimbitse ku bijanye n’ico kintu cose, bivuye mu kuboko kwa Yehova kwari kuri jewe, egome, ugutahura kwimbitse ku bijanye n’ibikorwa vyose vy’uwo mugero w’ubwubatsi+.”
20 Dawidi abandanya kubwira Salomo umuhungu wiwe ati: “Gira umutima rugabo+ kandi ukomere, ukore. Ntutinye+ canke ngo utekerwe n’ubwoba+, kuko Yehova Imana, Imana yanje, ari kumwe nawe+. Ntazoguta+ canke ngo aguhebe, gushika umurimo wose w’igikorwa c’inzu ya Yehova urangiye. 21 Kandi ng’iyi imice y’abaherezi+ n’iy’Abalewi+ ku bw’igikorwa cose co ku nzu y’Imana y’ukuri; kandi muri ico gikorwa cose uri kumwe n’umuntu wese w’umutima ukunze+ afise ubuhanga bukenewe ku bw’igikorwa+ cose, hamwe n’abaganwa+ be n’abantu bose bazoshitsa ivyo uzovuga vyose.”
29 Nuko Dawidi umwami abwira ishengero+ ryose ati: “Salomo umuhungu wanje, uwo Imana yatoye+, aracari muto+ kandi nta nkomezi aragira, mugabo igikorwa ni kinini; kuko iyo ngoro atari iy’umuntu+, ariko ni iya Yehova Imana. 2 Nk’uko ububasha+ bwanje bwose buri, narateguriye+ inzu y’Imana yanje inzahabu+ ku bw’ibizokorwa mu nzahabu, n’ifeza ku bw’ibizokorwa mw’ifeza, n’umujumpu ku bw’ibizokorwa mu mujumpu, n’ivyuma+ ku bw’ibizokorwa mu vyuma, n’ibiti+ ku bw’ibizokorwa mu biti; amabuye ya onigisi+, n’amabuye azoshirishwaho ubudongo bukomeye, n’utubuye two gushariza, n’amabuye yose y’agaciro, n’amabuye ya alabasitironi* menshi. 3 Vyongeye, kubera ko mpimbarwa+ n’inzu y’Imana yanje, haracariho ibintu bidasanzwe, binyegukira+: inzahabu n’ifeza; ndabitanze ku bw’inzu y’Imana yanje, vyiyongere ku vyo nateguriye iyo nzu nyeranda+ vyose: 4 italanto ibihumbi bitatu z’inzahabu, z’inzahabu y’i Ofiri+, n’italanto ibihumbi indwi z’ifeza ityoroye, ku bwo gupfuka impome za nya mazu; 5 inzahabu ku bw’ibizokorwa mu nzahabu, n’ifeza ku bw’ibizokorwa mw’ifeza no ku bw’igikorwa cose kizokorwa n’ukuboko kw’abahinguzi b’utugenegene. None ni nde yitanze abikunze kugira ngo uyu musi yuzuze ukuboko kwiwe ingabirano igenewe Yehova+?”
6 Maze abaganwa+ b’amazu ya ba sekuru+ n’abaganwa+ b’imiryango ya Isirayeli, n’abakuru b’ibihumbi+ n’ab’amajana+, n’abakuru b’igikorwa+ c’umwami baritanga babikunze. 7 Nuko batanga ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri inzahabu iciye italanto ibihumbi bitanu, n’amadariki* ibihumbi cumi, n’ifeza iciye italanto ibihumbi cumi, n’umujumpu uciye italanto ibihumbi cumi n’umunani be n’ivyuma biciye italanto ibihumbi ijana+. 8 Amabuye ayo ari yo yose abantu bari bafise bayatanga ku bw’itunga ry’inzu ya Yehova ryari rijejwe Yehiyele+ Umugerishoni+. 9 Nuko abantu banezerezwa no kubona bariko batanga amashikanwa yo ku bushake, kuko bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake+; mbere na Dawidi umwami ubwiwe anezerwa akanyamuneza kenshi+.
10 Maze Dawidi ahezagira+ Yehova mu maso y’ishengero ryose+, ati: “Uragahezagirwa+, ewe Yehova Mana ya Isirayeli+ data, kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero. 11 Ubukuru+ n’ubushobozi+ n’ubwiza+ n’ukuba agahebuza+ n’iteka+ ni ivyawe, ewe Yehova; kuko ikintu cose mu majuru no mw’isi ari icawe+. Ubwami ni ubwawe+, ewe Yehova, wewe mukuru ari hejuru ya vyose*+. 12 Ubutunzi+ n’ubuninahazwa+ biriho kubera wewe, kandi uganza vyose+; mu kuboko kwawe hari ububasha+ n’ubushobozi+, kandi mu kuboko kwawe hari ubushobozi bwo gutuma bose baba abahambaye+ n’ubwo kubaha inkomezi+. 13 None rero, ewe Mana yacu, turagukengurukiye+ kandi turashemeje+ izina ryawe ryiza+.
14 “Yamara, jewe ndi nde+ kandi abantu banje ni bande, kugira ngo tugumane ububasha bwo gutanga amashikanwa atangwa ku bushake nk’aya+? Kuko vyose biva kuri wewe+, kandi ivyo mu kuboko kwawe bikaba ari vyo tuguhaye. 15 Kuko turi ba kavamahanga imbere yawe tukaba n’inyambukira+ nka ba sogokuruza bacu bose. Imisi yacu kw’isi imeze nk’igitutu+, kandi nta cizigiro kiriho. 16 Ewe Yehova Mana yacu, uwu murengera wose twateguye kugira tukwubakire inzu yitirirwa izina ryawe ryeranda uva mu kuboko kwawe, kandi wose ni uwawe+. 17 Ndazi neza, ewe Mana yanje, yuko usuzuma umutima+, kandi yuko uhimbarwa n’ubugororotsi+. Jewe, mu kugororoka kw’umutima wanje ni ho ntanze ibi bintu vyose ndabikunze; none rero mpimbawe no kubona aba bantu bawe bari hano bagushikanira amashikanwa babikunze. 18 Ewe Yehova Mana ya Aburahamu na Izahaki na Isirayeli ba sogokuruza bacu+, nuzigame ivyo gushika igihe kitagira urugero nk’impengamiro y’ivyiyumviro vy’umutima w’abantu bawe+, werekeze umutima wabo kuri wewe+. 19 Salomo umuhungu wanje na we umuhe umutima ukwiye+ kugira ngo agumye amabwirizwa yawe+ n’ibishingantahe vyawe+ n’ingingo nyobozi zawe+, kugira ngo akore vyose, no kugira ngo yubake iyo ngoro+ nagiriye imyiteguro+.”
20 Hanyuma Dawidi abwira ishengero ryose+ ati: “Nimuhezagire+ rero Yehova Imana yanyu.” Nuko ishengero ryose rihezagira Yehova Imana ya ba sekuruza babo, barunama+, bakubita inkoro hasi+ imbere ya Yehova n’imbere y’umwami. 21 Nuko ku musi ukurikira uwo musi, babandanya gushikanira+ Yehova ibimazi no gushikanira Yehova amashikanwa aturirwa+: bashikana ibimasa igihumbi, impfizi z’intama igihumbi, imyagazi y’intama y’amasuguru igihumbi n’amashikanwa y’ikinyobwa+ yavyo, egome, ibimazi vyinshi ku bwa Isirayeli yose+. 22 Kuri uwo musi babandanya kurîra no kunywera imbere ya Yehova n’umunezero mwinshi+; vyongeye, bimika ubugira kabiri Salomo mwene Dawidi ngo abe umwami+ bongera bamurobanuriza amavuta Yehova ngo abe indongozi+, barobanura na Zadoki+ ngo abe umuherezi. 23 Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+ ari umwami mu kibanza ca Dawidi se wiwe; araroranirwa+, kandi Abisirayeli bose baramugamburukira. 24 Nayo abaganwa bose+ n’abagabo b’abanyenkomezi+ be n’abahungu b’Umwami Dawidi+, bayobokera Salomo umwami. 25 Yehova abandanya kugira Salomo uwuhambaye bihebuje+ mu maso ya Isirayeli yose, no gushira kuri we iteka rya cami ritari bwabe ku mwami n’umwe yamwitangiye imbere mu kuganza Isirayeli+.
26 Nayo Dawidi mwene Yese, aganza Isirayeli yose+; 27 imisi yaganje Isirayeli yabaye imyaka mirongo ine+. I Heburoni yaganje imyaka indwi+, i Yeruzalemu na ho aganza imyaka mirongo itatu n’itatu+. 28 Amaherezo arapfa yisaziye neza+, ahaze imisi n’ubutunzi+ n’ubuninahazwa+; nuko Salomo umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 29 Nayo ivya Dawidi umwami, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu majambo ya Samweli rubonyi+ no mu majambo ya Natani+ umuhanuzi no mu majambo ya Gadi+ umubonyi, 30 hamwe n’ingoma yiwe yose n’ubushobozi bwiwe be n’ibihe+ vyari vyaraciye kuri we no kuri Isirayeli no ku bwami bwose bw’ibihugu+.
Bisobanura “Ukugabura.”
Ijambo ku rindi ni “abashehe.” Ijambo ry’igiheburayo rivuye kw’itsitso risobanura “igihumbi,” rikaba risobanura “indongozi y’igihumbi.”
Ijambo ku rindi ni “bene.”
Ijambo ku rindi ni “bene.”
Ijambo ku rindi ni “bene.”
Bisobanura ngo “Umubande w’abahinguzi b’utugenegene.”
Canke, se wa Keyila Umugarumi.
Ku murongo wa 1 ni “Gerishoni.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “ububani.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “bene.”
Izina ntaryo mu gisomwa c’igiheburayo.
Mw’Itanguriro 46:24 no mu Guharūra 26:49 ni “Shilemu.”
Bisobanura ngo “hamwe n’ivyago.”
Canke, “Yoshuwa.”
Canke, “Abashumba b’urusengero.” Ijambo ku rindi ni “Abatanzwe.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “aturikiye kuri.”
Raba Inyongera ya 21.
Biboneka ko cari icambarwa kimeze nk’itaburiya kigizwe n’igihimba c’imbere n’ic’inyuma.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Muri 2Sm 8:9, 10 ni “Toyi.”
Muri 2Sm 10:16 ni “Shobaki.”
Raba 2Sm 12:30, akajambo k’epfo.
Muri 2Sm 21:18 ni “Safu.”
Muri 2Sm 24:16 ni “Arawuna.”
Raba Inyongera ya 21.
Rivuye kw’ijambo risobanura “amahoro.”
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “mu ntara yo hasi.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi capima amagarama 8,4.
Ijambo ku rindi ni “wewe kandi widuza bwa mukuru hejuru ya vyose.”