ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 1 Abakorinto 1:1-16:24
  • 1 Abakorinto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Abakorinto
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
1 Abakorinto

Ikete rya Mbere ryandikiwe Abakorinto

1 Jewe Paulo uwahamagariwe kuba intumwa+ ya Yezu Kristu biciye ku kugomba kw’Imana+, na Sositene+ mwene wacu, 2 turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto+, mwebwe abejejwe+ mu bumwe na Kristu Yezu, bahamagariwe kuba aberanda+, hamwe n’abambaza bose ahantu hose izina+ ry’Umukama wacu, Yezu Kristu, Umukama wabo akaba n’uwacu+:

3 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye+ n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu+.

4 Nama nkengurukira Imana ku bwanyu kubera ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana mwahawe muri Kristu Yezu+; 5 kuko muri vyose mwatungishijwe+ muri we, mu bushobozi bwo kuvuga bwuzuye no mu bumenyi bwuzuye+, 6 nk’uko mbere intahe yerekeye Kristu+ yashikamye muri mwebwe, 7 kugira ngo ntimuhombe ingabirano+ n’imwe, mu gihe murindiranye igishika ihishurwa+ ry’Umukama wacu Yezu Kristu. 8 Azobashikamisha+ kandi gushika kw’iherezo, ngo ntihaze hagire ico muregwa+ ku musi+ w’Umukama wacu Yezu Kristu+. 9 Imana ni inyizigirwa+, ari na yo yabahamagariye gusangira+ n’Umwana wayo Yezu Kristu Umukama wacu.

10 Ndabahimiriza+ rero, bene wacu, mw’izina+ ry’Umukama wacu Yezu Kristu ngo mwese muvuge rumwe+, kandi ntihabe ukwicamwo ibice+ muri mwebwe, ahubwo mube abunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe+. 11 Kuko, bene wacu+, abo mu nzu kwa Keloya bampishuriye ibiberekeye, yuko hari ugucanamwo muri mwebwe. 12 Ico nshaka kuvuga ni iki: yuko umwe wese muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi uwa Paulo,” “Nanje uwa Apolo+,” “Nanje uwa Kefa,” “Nanje uwa Kristu.” 13 Kristu yaraciwemwo ibice+. Mbega Paulo yarabamanikiwe? Canke mwabatijwe+ mw’izina rya Paulo? 14 Ndashima kuba ntabatije n’umwe muri mwebwe kiretse Kirisipo+ na Gayo+, 15 kugira ntihagire uwuvuga yuko mwabatijwe mw’izina ryanje. 16 Ego, narabatije n’urugo rwa Sitefana+. Ariko mu basigaye, sinzi ko hari uwundi nabatije. 17 Kuko Kristu atantumye+ kubatiza, ahubwo yantumye kumenyesha inkuru nziza, atari mu mvugo y’ubwenge buhanitse+, kugira ngo igiti co kubabarizwako ca Kristu ntigihindurwe impfagusa.

18 Kuko ijambo ryerekeye igiti co kubabarizwako ari ubupfu+ ku bariko baratikira+, mugabo kuri twebwe abariko barakizwa+, ni ububasha bw’Imana+. 19 Kuko vyanditswe ngo: “Nzohonya ubukerebutsi bw’inkerebutsi+, n’ubwenge bw’incabwenge+ nzobuhindira ku ruhande+.” 20 Inkerebutsi iri hehe? Umwanditsi ari hehe+? Umunyabihari+ wo muri iki gihe* ari hehe+? Mbega ubukerebutsi bw’iyi si Imana ntiyabuhinduye ubupfu+? 21 Kuko, kubera ko mu bukerebutsi bw’Imana isi biciye mu bukerebutsi bwayo+ itamenye Imana+, Imana yabonye ari vyiza, biciye mu bupfu+ bw’icamamazwa, gukiza abemera.

22 Kuko Abayuda basaba ibimenyetso+, Abagiriki na bo bakarondera ubukerebutsi+; 23 mugabo twebwe twamamaza Kristu yamanitswe+, ku Bayuda akaba igitsitaza+ mugabo ku mahanga akaba ubupfu+; 24 ariko ku bahamagawe, Abayuda n’Abagiriki, Kristu ni ububasha+ bw’Imana n’ubukerebutsi+ bw’Imana. 25 Kuko ic’ubupfu c’Imana kirusha ubukerebutsi abantu, n’ica goyigoyi c’Imana kigakomera kurusha abantu+.

26 Kuko mubona ingene yabahamagaye, bene wacu: si inkerebutsi nyinshi+ zo mu buryo bw’umubiri zahamagawe+, si abanyabubasha benshi+, si abakomoka mu muryango uhambaye benshi; 27 mugabo Imana yatoye ivy’ubupfu vyo mw’isi+ kugira itetereze inkerebutsi; kandi Imana yatoye ivya goyigoyi vyo mw’isi kugira itetereze ibikomeye+; 28 kandi Imana yatoye ibibayabaye vyo mw’isi be n’ibigawa, ibitariho+, kugira ihindure ubusa+ ibiriho, 29 kugira ngo ntihagire igifise umubiri na kimwe cirata+ imbere y’Imana. 30 Mugabo mubikesheje yo ni ho mwunze ubumwe na Kristu Yezu, uwacitse ubukerebutsi+ buva ku Mana kuri twebwe, n’ubugororotsi+ n’ukwezwa+ be n’ukubohorwa biciye ku ncungu*+; 31 kugira ngo bibe nk’uko vyanditswe ngo: “Uwirata, niyirate muri Yehova+.”

2 Nanje rero, igihe naza iwanyu ga bene wacu, sinazananye imvugo y’agahebuza+ canke ubukerebutsi bw’agahebuza mu kubamenyesha ibanga ryeranda+ ry’Imana. 2 Kuko nafashe ingingo yo kutamenya ikintu na kimwe muri mwebwe kiretse Yezu Kristu+, kandi amanitswe. 3 Kandi naje iwanyu mu bugoyagoye no mu bwoba, njugumira cane+; 4 kandi imvugo yanje be n’ivyo namamaza ntivyarimwo amajambo anyura y’ubukerebutsi, ahubwo vyarimwo ukwigaragaza kw’impwemu n’ububasha+, 5 kugira ngo ukwizera kwanyu ntikube mu bukerebutsi bw’abantu+, ahubwo kube mu bubasha bw’Imana+.

6 Twebwe rero tuvuga ubukerebutsi mu bahumuye*+, mugabo si ubukerebutsi+ bw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe+, bamwe babwirizwa guhindurwa ubusa+. 7 Mugabo tuvuga ubukerebutsi bw’Imana mw’ibanga ryeranda+, ubukerebutsi bwanyegejwe, ubwo Imana yagenye imbere y’igihe, ibihe bitarabaho+, ku bw’ubuninahazwa bwacu. 8 Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware+ b’iki gihe yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kumanika+ wa Mukama w’ubuninahazwa. 9 Mugabo nk’uko vyanditswe: “Ijisho ntiryabonye, n’ugutwi ntikwumvise, eka n’ibintu Imana yateguriye abayikunda ntivyiyumviriwe mu mutima w’umuntu+.” 10 Kuko ari twebwe Imana yabihishuriye+ biciye ku mpwemu yayo+, kuko impwemu+ isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse+ vy’Imana.

11 Kuko, ni nde mu bantu azi ibintu vy’umuntu atari impwemu+ y’umuntu iri muri we? Muri ubwo buryo nyene, nta n’umwe yamenye ibintu vy’Imana atari impwemu+ y’Imana. 12 Ariko twebwe ntitwaronse impwemu+ y’isi, ahubwo twaronse impwemu+ iva ku Mana, kugira ngo tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze+. 13 Ivyo bintu ni vyo nyene tuvuga, atari mu majambo yigishwa n’ubukerebutsi bw’abantu+, ahubwo mu yigishwa n’impwemu+, uko dushira hamwe ibintu vy’impwemu n’amajambo y’impwemu+.

14 Mugabo umuntu w’umubiri ntiyakira ibintu vy’impwemu y’Imana, kuko ari ubupfu kuri we; kandi ntashobora kubimenya+, kuko bisuzumwa mu buryo bw’impwemu. 15 Ariko umuntu w’impwemu+ arasuzuma koko ibintu vyose, mugabo ubwiwe nta muntu n’umwe amusuzuma+. 16 Kuko, “ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova+, ngo amwigishe+?” Mugabo twebwe turafise umuzirikanyi+ wa Kristu.

3 Nuko rero, bene wacu, sinashoboye kubabwira nk’uwubwira abantu b’impwemu+, mugabo nk’uwubwira abantu b’umubiri, nk’uwubwira inzoya+ muri Kristu. 2 Nabagaburiye amata, si ico kurya+, kuko mutari bwakomere bihagije. Mbere n’ubu ntimukomeye bihagije+, 3 kuko mukiri ab’umubiri+. None ko hari ishari n’ugushihana muri mwebwe+, mbega ntimuri ab’umubiri mukaba kandi mugenda nk’uko abantu bagenda+? 4 None ko umwe avuga ngo: “Jewe ndi uwa Paulo,” uwundi ngo: “Jewe ndi uwa Apolo+,” mbega ntimuri abantu buntu?

5 None Apolo+ ni iki? Nkako, Paulo ni iki? Ni abasuku+ vyaciyeko kugira mube abemera, nk’uko Umukama yahaye umwe wese. 6 Jewe narateye+, Apolo aravomera+, mugabo Imana yaguma ikuza+; 7 ku buryo yaba uwutera canke uwuvomera ata co ari+, kiretse Imana yo ikuza+. 8 Uwutera n’uwuvomera rero ni umwe+, mugabo umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya+. 9 Kuko turi abakozi bakorana n’Imana+. Mwebwe muri itongo ry’Imana+ ririko rirarimwa, inyubakwa y’Imana+.

10 Nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana nahawe buri, bwa muyobozi w’ibikorwa w’inkerebutsi narashinze umushinge+, mugabo uwundi muntu ariko arawubakako. Ariko umwe wese nagume araba neza ingene awubakako+. 11 Kuko ata muntu ashobora gushinga uwundi mushinge+ atari uwashinzwe, ari wo Yezu Kristu+. 12 Nimba rero umuntu awubatseko inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ivyatsi, ibishakara, 13 igikorwa c’umwe wese kizoja ahabona, kuko wa musi uzocerekana, kubera ko kizohishurwa biciye ku muriro+; kandi uwo muriro nyene uzokwerekana ubwoko bw’igikorwa c’umwe wese. 14 Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kuri wo, nicagumaho+, azoronka impembo+; 15 igikorwa c’umuntu nicasha, azohomba, mugabo we ubwiwe azokizwa+; yamara nivyaba gutyo, bizoba nk’aho biciye mu muriro+.

16 Ntimuzi yuko muri urusengero rw’Imana+, be n’uko impwemu y’Imana iba muri mwebwe+? 17 Nimba umuntu asambuye urusengero rw’Imana, Imana izomusambura+; kuko urusengero rw’Imana ari rweranda+, nya rusengero+ akaba ari rwo mwebwe muri+.

18 Ntihagire uwihenda: Nimba muri mwebwe hari uwiyumvira ko ari inkerebutsi+ muri iki gihe, nabe igipfu, kugira abone gucika inkerebutsi+. 19 Kuko ubukerebutsi bw’iyi si ari ubupfu ku Mana+; kuko vyanditswe ngo: “Afatira inkerebutsi mu rwenge rwazo bwite+.” 20 Kandi ngo: “Yehova arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze+.” 21 Ntihagire rero n’umwe yirata mu bantu; kuko ibintu vyose ari ivyanyu+, 22 yaba Paulo canke Apolo+ canke Kefa, canke isi, canke ubuzima canke urupfu, canke ibiriho ubu canke ibizoza+, ibintu vyose ni ivyanyu; 23 namwe mwegukira Kristu+; Kristu na we yegukira Imana+.

4 Umuntu rero natubone nk’aho turi abasuku+ ba Kristu n’ababwiriza+ b’amabanga meranda+ y’Imana. 2 Bitayeko, muri ivyo, ikironderwa mu babwiriza+ ni uko umuntu asangwa ari umwizigirwa+. 3 Kuri jewe rero ni ikintu gitoyi cane kuba nosuzumwa namwe canke na sentare y’abantu+. Na jewe ubwanje sinisuzuma. 4 Kuko ata co numva+ niyagiriza. Yamara muri ivyo simboneka ko ndi umugororotsi, ariko uwunsuzuma ni Yehova+. 5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.

6 Rero ga bene wacu, ivyo bintu nabishikirije ukundi kugira ndavyerekeze kuri jewe na Apolo+ ku neza yanyu, ngo mu bitwerekeye mumenye iyi ngingo: “Ntimurenge ku bintu vyanditswe+,” kugira ngo ntimwivyimvye+ umwe wese ukwiwe mu kurutisha umuntu uwundi+. 7 Kuko, ni nde akugira uwutandukanye+ n’uwundi? Mu vy’ukuri, ni igiki ufise utahawe+? Nimba none waragihawe koko+, kubera iki wirata+ nk’aho utagihawe?

8 Burya muramaze guhaga? Burya muramaze kuba abatunzi+? Burya mwaratanguye kuganza+ tutari kumwe? Icompa koko mukaba mwaratanguye kuganza, ngo natwe tuganzanye namwe+. 9 Kuko kuri jewe bisa n’uko Imana twebwe intumwa yadushize ubwa nyuma mw’iyerekanwa+, nk’abantu bagenewe gupfa+, kuko twacitse akabarore+ kw’isi, no ku bamarayika+, no ku bantu+. 10 Twebwe turi ibipfu+ kubera Kristu, mugabo mwebwe muri ab’ubwenge+ muri Kristu; twebwe turagoyagoya+, mugabo mwebwe murakomeye+; mwebwe muvugwa neza+, mugabo twebwe turi mu gateterwe+. 11 Gushika kuri iyi saha nyene tubandanya gusonza+, no kunyoterwa+, no guhakwa kwambara ubusa+, no kunokezwa+, no kubura uburaro+, 12 no gucumukura+ dukoresha amaboko yacu bwite+. Iyo turiko turatukwa, turahezagira+; iyo turiko turahamwa, turarindirako+; 13 iyo turiko turambikwa ibara, turinginga+; twacitse nk’umwanda w’isi, umucafu w’ibintu vyose, gushika n’ubu+.

14 Ibi bintu sindavyandikiye kubamaramaza, ahubwo ndavyandikiye kubakebura nk’abana banje b’abakundwa+. 15 Kuko naho mwogira abarezi+ ibihumbi cumi muri Kristu, mu vy’ukuri nta ba so benshi mufise+; kuko muri Kristu Yezu nacitse so biciye ku nkuru nziza+. 16 Ndabinginga rero, munyigane+. 17 Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo+, kuko ari umwana wanje w’umukundwa+ kandi w’umwizigirwa mu Mukama; na we azobibutsa ubuhinga bwanje mu bijanye na Kristu Yezu+, nk’uko nigisha hose mw’ishengero iryo ari ryo ryose.

18 Bamwe barivyimvya+ nk’aho vy’ukuri ntariko ndaza iwanyu. 19 Mugabo nzoza iwanyu vuba Yehova niyabigomba+, kandi sinzomenya amajambo y’abo bivyimvya, ahubwo nzomenya ububasha bwabo. 20 Kuko ubwami bw’Imana butabonekera mu majambo, ahubwo bubonekera mu bubasha+. 21 Mushaka iki? Nze iwanyu nzanye inkoni+, canke urukundo n’umutima w’ubwitonzi+?

5 Mu vy’ukuri haravugwa ubusambanyi+ muri mwebwe, kandi ubusambanyi butari no mu mahanga, yuko hariho umuntu afise umugore wa se+. 2 Hanyuma mukivyimvya+, ntimugandare riho+, kugira ngo uwo muntu yakoze ico kintu akurwe muri mwebwe+? 3 Nayo jewe, naho ntahari mu mubiri mugabo nkaba ndahari mu mpwemu, ndamaze koko gucira urubanza+ uwo muntu yakoze ivyo, nk’aho noba ndahari, 4 ngo mw’izina ry’Umukama wacu Yezu, iyo mukoraniye hamwe, n’impwemu yanje kumwe n’ububasha bw’Umukama wacu Yezu+, 5 muhe mwene uwo muntu Shetani+ kugira ngo umubiri utikizwe, ngo impwemu+ ize ikizwe ku musi w’Umukama+.

6 Ikibatera kwirata+ si ciza. Ntimuzi yuko akambiro gakeyi kambira+ irobe ryose+? 7 Nimukureho umwambiro ushaje+, kugira mube irobe rishasha, nk’uko mutagiramwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu+ we pasika*+ yacu yaratanzweko ikimazi+. 8 Nuko rero duhimbaze uwo musi mukuru+, tudakoresheje umwambiro+ ushaje canke umwambiro+ w’ububi n’ububisha+, ahubwo dukoresheje imikate itarimwo umwambiro y’ukutagira uburyarya n’iy’ukuri+.

9 Mw’ikete ryanje, nabandikiye kureka kwivanga n’abasambanyi, 10 atari kureka rwose abasambanyi+ bo muri iyi si+ canke abanyamunoho n’abanyazi canke abasenga ibigirwamana. Ahandiho mwobwirijwe kuva mw’isi koko+. 11 Mugabo ubu ndabandikiye kureka kwivanga+ n’uwo wese yitwa mwene wacu akaba ari umusambanyi canke umunyamunoho+ canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa+ canke umunyazi, no gusangira ntimugasangire n’umuntu mwene uyo. 12 None mpuriye ku ki no gucira urubanza abo hanze+? Mbega mwebwe ntimucira urubanza ab’imbere+, 13 Imana na yo igacira urubanza abo hanze+? “Nimukure uwo mubisha muri mwebwe+.”

6 Mbega uwo muri mwebwe afitaniye urubanza+ n’uwundi arubahuka kuja kuburana imbere y’abatagororotse+, ntaje imbere y’aberanda+? 2 Canke ntimuzi ko aberanda bazocira urubanza+ isi+? Kandi nimba ari mwebwe muzocira urubanza isi, ntimubereye none guca imanza z’ibintu bitoyi cane+? 3 Ntimuzi ko tuzocira imanza abamarayika+? Kubera iki none tutoca iz’ibintu vy’ubu buzima? 4 Nimba none mufise ibintu vy’ubu buzima vyo gucira urubanza+, abantu bagawa mw’ishengero ni bo mushinga kuba abacamanza+? 5 Ndiko mvuga kugira ndabatere kumaramara+. Ni ivy’ukuri yuko ata muntu n’umwe w’inkerebutsi+ ariho muri mwebwe yoshobora guca urubanza hagati ya bene wabo, 6 mugabo umuvukanyi akaja kuburanya umuvukanyi, kandi ivyo bikabera imbere y’abatemera+?

7 Mu vy’ukuri rero, ni ugutsindwa rwose kuri mwebwe kubona mugiranira imburano+. Kubera iki mutopfuma mureka mukarenganywa+? Kubera iki mutopfuma mureka mukagungwa+? 8 Ahubwo murarenganya mukongera mukagunga, kandi mukabigirira bene wanyu+.

9 Ngw’iki! Ntimuzi ko abatagororotse batazotorana ubwami bw’Imana+? Ntimuzimizwe. Nta basambanyi+, canke abasenga ibigirwamana+, canke abarenga ibigo+, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa+, canke abagabo baryamana n’abagabo+, 10 canke ibisuma, canke abanyamunoho+, canke imborerwa+, canke abatukana, canke abanyazi bazotorana ubwami bw’Imana+. 11 Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze+. Mugabo mwarogejwe+, mugabo mwarejejwe+, mugabo mwariswe abagororotsi+ mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu+ no ku mpwemu y’Imana yacu+.

12 Ibintu vyose ndavyemererwa; mugabo si vyose bifise akarusho+. Ibintu vyose ndavyemererwa+; mugabo sinzoreka ngo nganzwe n’ikintu na kimwe+. 13 Ibifungurwa ni ivy’inda, inda na yo ni iy’ibifungurwa+; mugabo ivyo vyompi Imana izobihindura ubusa+. Umubiri rero si uw’ubusambanyi, ahubwo ni uw’Umukama+; Umukama na we ni uw’umubiri+. 14 Mugabo Imana yarazuye Umukama+ kandi natwe izotuzura idukure mu rupfu+ biciye ku bubasha bwayo+.

15 Ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba+ vya Kristu+? Nkureho none ibihimba vya Kristu ndabigire ibihimba vy’umumaraya+? Ntibikabe! 16 Ngw’iki! Ntimuzi ko uwufatanijwe n’umumaraya ari umubiri umwe na we? Kuko ivuga iti: “Abo babiri bazoba umubiri umwe+.” 17 Mugabo uwufatanijwe n’Umukama ni impwemu+ imwe+ na we. 18 Nimuhunge ubusambanyi+. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ni ic’inyuma y’umubiri wiwe, mugabo uwuza arakora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite+. 19 Ngw’iki! Ntimuzi ko umubiri wanyu ari urusengero+ rw’impwemu nyeranda iri muri mwebwe+, iyo mwakuye ku Mana? Vyongeye, ntimwigaba+ 20 kuko mwaguzwe ikiguzi+. Ninahaze Imana+ rero mu mubiri+ wanyu.

7 Nayo ku vyo mwanditse, ni vyiza ko umugabo adakora+ ku mugore; 2 yamara kubera ugukwiragira kw’ubusambanyi+, umugabo wese nagire umugore+ wiwe bwite, n’umugore wese agire umugabo wiwe bwite. 3 Umugabo nahe umugore wiwe ivyiwe+; umugore na we nyene agirire kuno umugabo wiwe+. 4 Umugore ntafise ububasha ku mubiri wiwe, ahubwo umugabo wiwe ni we abufise+; n’umugabo nyene ntafise ububasha ku mubiri wiwe, ahubwo umugore wiwe ni we abufise+. 5 Ntimuvyimane+, kiretse mwumvikanye ku bw’igihe kanaka+, kugira muhebere umwanya ugusenga hanyuma mwongere kuja hamwe, kugira ngo Shetani ntagume abagerageza+ kubera ukutigumya kwanyu+. 6 Ariko ivyo ndabivuze mu kwerekana gusa ko birekuwe+, si itegeko+. 7 Mugabo noshima ko abantu bose baba nkanje+. Yamara rero, umwe wese ari n’ingabirano+ yiwe bwite iva ku Mana, umwe uku, uwundi kuriya.

8 Ubu na ho mbwira abatubatse+ n’abapfakazi: ni vyiza ko bigumira nk’uko ndi+. 9 Mugabo nimba bibananiye kwigumya+, nibubake, kuko ari vyiza kwubaka+ kuruta kururumba inambu+.

10 Abubatse ndabaha aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama+, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+; 11 mugabo aramutse avanye na we vy’ukuri, nagume atubatse canke na ho asubirane n’umugabo wiwe; kandi umugabo ntakwiye guta umugore wiwe.

12 Mugabo abandi ndababwira, egome jewe, si Umukama+: nimba hari mwene wacu afise umugore atemera, yamara nya mugore agashima kubana na we, ntamute; 13 kandi umugore afise umugabo atemera, yamara nya mugabo agashima kubana na we, ntate umugabo wiwe. 14 Kuko nya mugabo atemera yezwa mu bijanye n’umugore wiwe, nya mugore atemera na we akezwa mu bijanye na nya muvukanyi; ahandiho, abana banyu boba vy’ukuri bahumanye+, ariko noneho ni beranda+. 15 Mugabo nimba uwutemera agiye+, nagende; mwene wacu canke mushiki wacu ntahambirwa igihe ibintu vyifashe gutyo, mugabo Imana yabahamagariye amahoro+. 16 Kuko ga mugore, uzi gute ko utazokiza umugabo wawe+? Canke ga mugabo, uzi gute ko utazokiza umugore wawe+?

17 Kimwe gusa, nk’uko Yehova yahaye umwe wese umugabane+, umwe wese nagende nk’uko Imana yamuhamagaye+. Kandi ukwo ni ko ntegeka+ mu mashengero yose. 18 Hoba hari uwahamagawe yaragenyerewe+? Ntacike uwutagenyerewe. Hoba hari uwahamagawe atagenyerewe+? Ntagenyerwe+. 19 Ukugenyerwa+ nta co kuvuze, n’ukutagenyerwa+ nta co kuvuze, ukwubahiriza amabwirizwa y’Imana ni kwo guhambaye+. 20 Uko umwe wese yahamagawe ameze kwose+, nagume gutyo+. 21 Woba wahamagawe uri umushumba? Ntibiguhagarike umutima+; ariko nimba ushobora no kuba uwidegemvya, ntugishe riho ako karyo. 22 Kuko, umuntu wese mu Mukama yahamagawe ari umushumba ni uwidegemvya w’Umukama+; n’uwahamagawe ari uwidegemvya+ ni umushumba+ wa Kristu. 23 Mwaguzwe ikiguzi+; nimureke kuba abashumba+ b’abantu. 24 Uko umwe wese yahamagawe ameze kwose+ ga bene wacu, nagume gutyo yifatanije n’Imana.

25 Nayo ku vy’abigeme b’isugi, nta tegeko mfise riva ku Mukama, mugabo ndatanga iciyumviro canje+ nk’uwagiriwe imbabazi n’Umukama+ ngo abe umwizigirwa+. 26 Niyumvira rero ko ibi ari vyiza kubera ingorane ziri ino iwacu: yuko ari vyiza ko umuntu aguma uko ari+. 27 Woba wabohewe ku mugore+? Reka kurondera kubohorwa+. Woba wabohowe ku mugore? Reka kurondera umugore. 28 Mugabo naho wokwubaka, nta gicumuro woba ukoze+. Kandi umuntu w’isugi aramutse yubatse, uwo muntu nta gicumuro yoba akoze. Ariko abubaka bazogira amakuba mu mubiri wabo+. Mugabo jewe nshaka kuyabakingira.

29 Vyongeye, iki ni co mvuga, bene wacu: igihe gisigaye ni kigufi+. Kuva ubu abafise abagore babe nk’aho ata bo bafise+, 30 kandi n’abarira babe nk’abatarira, n’abanezerewe babe nk’abatanezerewe, n’abagura babe nk’abadafise, 31 n’abakoresha isi+ babe nk’abatayikoresha rwose; kuko ibintu* vyo kuri iyi si biriko birahinduka+. 32 Mu vy’ukuri, nshaka ko mutagira amaganya+. Umugabo atubatse aganyishwa n’ivy’Umukama, ingene yoshimwa n’Umukama. 33 Ariko umugabo yubatse aganyishwa+ n’ivy’isi, ingene yoshimwa n’umugore wiwe+, 34 kandi aba abangikanije. Vyongeye, umugore atubatse, n’umwigeme w’isugi, aganyishwa n’ivy’Umukama+, ko yoba mweranda mu mubiri no mu mutima wiwe. Ariko umugore yubatse aganyishwa n’ivy’isi, ingene yoshimwa n’umugabo wiwe+. 35 Mugabo ivyo ndabivuze ku neza yanyu bwite, atari kugira ndabatege umutego, mugabo kugira ndabajane ku kibereye+ no ku cotuma muguma mukorera Umukama ata kibasamaza+.

36 Mugabo nimba umuntu yiyumvira ko ariko yigenza ukutabereye ku bijanye n’ubusugi bwiwe+, nimba amaze kurengana ishurika ry’ubuto kandi akaba ari ko bibwirizwa kugenda, nakore ico ashaka; ntaba acumuye. Nibubake+. 37 Mugabo nimba umuntu yiyemeje mu mutima wiwe kugumya ubusugi bwiwe, akaba ata kimugobera mugabo akaba ategeka ukugomba kwiwe bwite kandi akaba yafashe iyo ngingo mu mutima wiwe bwite, azoba agize neza+. 38 N’uwutanze rero ubusugi bwiwe mu kwubaka aba agize neza+, mugabo uwutabutanze mu kwubaka azoba agize neza kuruta+.

39 Umugore abohwa mu gihe cose umugabo wiwe akiriho+. Ariko iyo umugabo wiwe asinziriye mu rupfu, nta kimubuza kwubakana n’uwo ashaka, ariko mu Mukama gusa+. 40 Mugabo uko jewe ndavyiyumvira, arushiriza guhirwa yigumiye uko ari+. Ndibaza ata kwihenda yuko na jewe mfise impwemu y’Imana+.

8 Nayo ku vyerekeye ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana+: turazi ko twese dufise ubumenyi+. Ubumenyi butera kwivyimvya, mugabo urukundo rurubaka+. 2 Nimba umuntu yiyumvira ko yamenye ikintu+, ntarakimenya nk’uko yabwirizwa kukimenya+. 3 Ariko nimba umuntu akunda Imana+, uwo arazwi na yo+.

4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+. 5 Kuko naho hari abitwa “imana+,” haba mw’ijuru+ canke kw’isi+, nk’uko hari “imana” nyinshi n’“abakama” benshi+, 6 mu vy’ukuri kuri twebwe hari Imana imwe+ ari yo Data+, iyo ibintu vyose bikomokako, natwe tukaba abayo+; kandi hari Umukama umwe+, Yezu Kristu+, biciye kuri we ibintu vyose bikaba biriho+, natwe tukabaho biciye kuri we.

7 Yamara rero, ubwo bumenyi ntiburi muri bose+; mugabo bamwe, kubera ko gushika ubu bamenyereye ikigirwamana, barya ibifungurwa nk’ikintu cashikaniwe ikigirwamana+, kandi ijwi ryabo ryo mu mutima rirahumana+ kubera yuko rigoyagoya. 8 Mugabo ibifungurwa ntibizoturata ku Mana+; iyo tutariye nta co duhomba, n’iyo turiye nta co dushimwa+. 9 Ariko mugume mwiyubara ngo ubwo burenganzira bwanyu ntibuhave bubera igitsitaza abagoyagoya+. 10 Kuko hamwe hogira uwukubona, wewe ufise ubumenyi, uri ku meza mu rusengero rw’ikigirwamana, mbega ijwi ryo mu mutima ry’uwo agoyagoya ntiryokwubahurwa gushika aho arya ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana+? 11 Vy’ukuri, bitewe n’ubumenyi bwawe, umuntu agoyagoya ariko arahona, mwene wanyu Kristu yapfiriye+. 12 Mugabo igihe mucumuye gutyo kuri bene wanyu mugakomeretsa ijwi ryabo ryo mu mutima+ rigoyagoya, muba muriko mucumura kuri Kristu. 13 Nimba rero ibifungurwa bitsitaza mwene wacu+, sinzokwigera nongera kurya inyama, kugira sintsitaze mwene wacu+.

9 Mbega sindi uwidegemvya+? Mbega sindi intumwa+? Mbega sinabonye Yezu Umukama wacu+? Mbega si mwebwe gikorwa canje mu Mukama? 2 Nimba ntari intumwa ku bandi, ndi yo koko kuri mwebwe, kuko ari mwebwe kidodo cemeza+ ukuba intumwa kwanje mu bijanye n’Umukama.

3 Ukwiregura kwanje ku bansuzuma ni uku+: 4 Mbega ntidufise uburenganzira bwo kurya+ no kunywa? 5 Mbega ntidufise uburenganzira bwo kwabira+ mushiki wacu tukajana, cokimwe n’izindi ntumwa na bene wabo n’Umukama+ be na Kefa+? 6 Canke ni Barunaba+ na jewe gusa tudafise uburenganzira bwo kureka gukora akazi+? 7 Ni nde yigera akora nk’umusoda ku mahera yiwe bwite? Ni nde atera umurima w’imizabibu ntafungure ku vyo wamye+? Canke ni nde aragira ubusho ntafungure ku mata yabwo+?

8 Mbega ndiko mvuga ivyo bintu nisunze ingingo z’abantu+? Canke Itegeko+ ryoryo ntirivuga ivyo bintu? 9 Kuko mw’itegeko rya Musa handitswe ngo: “Ntukarumye umunwa w’ishūri iyo iriko irakubita ibinyantete+.” Mbega amashūri ni yo Imana ibabaye? 10 Canke ivyo vyose ibivuga ku bwacu? Mu vy’ukuri vyanditswe ku bwacu+, kuko uwurima abwirizwa kurimana icizigiro, n’uwukubita akabwirizwa kubigira yizigiye kuronkako+.

11 Nimba twabivye ibintu vy’impwemu+ muri mwebwe, coba ari ikintu gikomeye dushwabuye ibintu vy’umubiri muri mwebwe+? 12 Nimba abandi bantu bafise ubwo burenganzira kuri mwebwe+, tweho ntiturushiriza? Yamara rero ntitwakoresheje ubwo burenganzira+, ahubwo twihanganira vyose, kugira ntidutange ikintu na kimwe kibera intambamyi inkuru nziza+ yerekeye Kristu. 13 Ntimuzi yuko abakora imirimo myeranda barya+ ibintu vyo mu rusengero, abaguma bakora+ ku gicaniro* na bo bagasangira n’igicaniro? 14 Muri ubwo buryo nyene, Umukama yategetse+ ko abatangaza inkuru nziza babaho biciye ku nkuru nziza+.

15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, sinanditse ivyo kugira bingendere gutyo, kuko nopfuma mpfa hako... nta muntu azohindura ubusa imvo yanje yo kwirata+! 16 Nimba rero ndiko menyesha inkuru nziza+, si imvo yotuma nirata, kuko ndi n’ikingobera+. Mu vy’ukuri, noba ngowe+ hamwe ntomenyesha inkuru nziza! 17 Nimba ndabikorana umutima ukunze+, ndafise impembo+; mugabo nimba ndabikora ku kagobero, na ho nyene ndafise ububwiriza+ najejwe. 18 None impembo yanje ni iyihe? Ni uko mu gihe menyesha inkuru nziza notanga inkuru nziza ku buntu+, kugira ngo sinkoreshe nabi uburenganzira mfise mu bijanye n’inkuru nziza.

19 Kuko naho ndi uwidegemvya ku bantu bose, nigize umushumba+ kuri bose, ngo ndonke+ abantu benshi bashoboka. 20 Ku Bayuda rero nacitse nk’Umuyuda+, kugira ndonke Abayuda; ku bagabwa n’itegeko nacitse nk’uwugabwa n’itegeko+, naho jewe ubwanje ntagabwa n’itegeko+, kugira ndonke abagabwa n’itegeko. 21 Ku batagira itegeko+ nacitse nk’uwutagira itegeko+, naho ntari uwutagira itegeko ku Mana mugabo nkaba ngabwa n’itegeko+ kuri Kristu+, kugira ndonke abatagira itegeko. 22 Ku bagoyagoya nacitse uwugoyagoya, ngo ndonke abagoyagoya+. Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose+, kugira ngo uko bishoboka kwose ngire abo nkiza. 23 Mugabo nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire+ n’abandi.

24 Ntimuzi yuko abirutsi+ mw’isiganwa biruka bose, mugabo umwe gusa akaba ari we aronka agashimwe+? Nimwiruke+ ku buryo mugashikira+. 25 Vyongeye, umuntu wese agira uruhara mw’ihiganwa arigumya+ muri vyose. Abo nkako babigira kugira baronke urugori+ rubora, mugabo twebwe tubigira kugira turonke urutabora+. 26 Uko niruka+ rero, si nk’uwutazi iyo aja; uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere+; 27 mugabo umubiri+ wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja, kugira ngo maze kwamamaza ku bandi, nanje ubwanje simpave mba uwutemewe+.

10 Sinshaka rero ko mutamenya, bene wacu, yuko ba sogokuruza bacu bose bari munsi y’igicu+ be n’uko bose baciye mu kiyaga+, 2 kandi bose babatijwe muri Musa+ biciye mu gicu no mu kiyaga; 3 kandi bose bariye ibifungurwa vy’impwemu bimwe+, 4 kandi bose banyoye ikinyobwa c’impwemu kimwe+. Kuko banywa ku gitandara c’impwemu+ cabakurikira, ico gitandara+ kikaba cagereranya Kristu+. 5 Yamara rero, benshi muri bo Imana ntiyabashimye+, kuko bahonerejwe+ mu gahinga.

6 Ivyo bintu rero vyatubereye uburorero, kugira ngo ntitube abipfuza ibintu bibi+, nk’uko na bo bavyipfuje. 7 Eka kandi ntimucike abasenga ibigirwamana, nk’uko bamwe muri bo babaye+; nk’uko vyanditswe ngo: “Abantu baricara ngo barye bongere banywe, maze bava hasi ngo baryoherwe+.” 8 Eka kandi ntituze turakora ubusambanyi, nk’uko bamwe muri bo bakoze ubusambanyi+, hakagwa ibihumbi mirongo ibiri na bitatu muri bo ku musi umwe+. 9 Eka kandi ntitukageze Yehova+, nk’uko bamwe muri bo bamugejeje+, bakamarwa n’inzoka+. 10 Eka kandi ntimukabe abidodomvyi, nk’uko bamwe muri bo bidodomvye+, bakamarwa n’umuranduzi+. 11 Ivyo bintu rero vyababako nk’uburorero, kandi vyanditswe ngo bitubere imburi+ twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe+.

12 Nuko rero, uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe+. 13 Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu+. Ariko Imana ni inyizigirwa+, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira+, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo+ kugira mushobore kucihanganira.

14 Nuko rero, bakundwa banje, muhunge+ ugusenga ibigirwamana+. 15 Mvuga nk’uwubwira abari n’ugutahura+; nimwirabire ivyo mvuga. 16 Igikombe+ c’umuhezagiro duhezagira, mbega si ugusangira mu maraso ya Kristu? Umukate tumanyura+, mbega si ugusangira mu mubiri wa Kristu+? 17 Kubera ko hari umukate umwe, twebwe naho turi benshi+, turi umubiri umwe+, kuko twese dufungura kuri uwo mukate umwe+.

18 Nimurabe Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri+: Mbega abarya ku bimazi ntibasangira n’igicaniro+? 19 None mvuge iki? Yuko ivyashikaniwe ikigirwamana hari ico bimaze, canke ko ikigirwamana hari ico kimaze+? 20 Oya; ahubwo mvuga yuko ibintu amahanga ashikana abishikanira amadayimoni*+, ntabishikanira Imana; nanje sinshaka ko muba abasangira n’amadayimoni+. 21 Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova+ n’igikombe c’amadayimoni; ntimushobora gufungura ku “meza ya Yehova+” no ku meza y’amadayimoni. 22 Canke “turiko dutera Yehova ishari+”? Mbega turamurusha inkomezi+?

23 Vyose biremerwa, mugabo si vyose bifise akarusho+. Vyose biremerwa+, mugabo si vyose vyubaka+. 24 Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite+, ahubwo arondere ak’uwundi+.

25 Ibigurishwa mu kaguriro k’inyama vyose mubandanye kubirya+ ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+; 26 kuko “isi n’ibiyuzuye+ ari ivya Yehova+.” 27 Nihagira uwo mu batemera abatumira mugashima kugenda, murarye ibishizwe imbere yanyu vyose+ ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima+. 28 Mugabo hagize uwubabwira ati: “Ivyo ni ivyatanzweko ikimazi,” ntimurye kubera uwo abibahishuriye no kubera ijwi ryo mu mutima+. 29 “Ijwi ryo mu mutima” mvuga, si iryawe, ahubwo ni iry’uwo wundi. Kubera iki none umwidegemvyo wanje wocirwa urubanza n’ijwi ryo mu mutima ry’uwundi+? 30 Nimba mfungura nkenguruka, kubera iki notukwa kubera ico nshimiye+?

31 Nuko rero, mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana+. 32 Mwirinde kuba ibitsitaza+ ku Bayuda no ku Bagiriki no kw’ishengero ry’Imana, 33 nk’uko na jewe nshimisha bose muri vyose+, sindondere akarusho+ kanje bwite, ahubwo ndondera aka benshi, kugira bakizwe+.

11 Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu+.

2 Ndabakeza rero kubera ko mu bintu vyose munzirikana kandi mukagumya ivyo nabashikirije+ nk’uko nabibahereje. 3 Mugabo nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu+; umutwe w’umugore na wo ni umugabo+; umutwe wa Kristu na wo ni Imana+. 4 Umugabo wese asenga canke avuga ubuhanuzi afise ikintu ku mutwe aba amaramaje umutwe wiwe+; 5 mugabo umugore wese asenga canke avuga ubuhanuzi+ umutwe udatwikiriye aba amaramaje umutwe wiwe+, kuko ari cokimwe n’uko yoba ari umugore amoye umutwe+. 6 Kuko nimba umugore atitwikiriye, nagabanishe umushatsi rero; mugabo nimba ari agaterasoni ku mugore kugabanisha umushatsi canke kwimosha+, niyitwikire+.

7 Kuko umugabo atabwirizwa kwitwikira umutwe, kubera ari ishusho+ n’ubuninahazwa+ vy’Imana; mugabo umugore ni ubuninahazwa bw’umugabo+. 8 Kuko umugabo atava mu mugore, ariko umugore ava mu mugabo+; 9 kandi vyongeye, umugabo ntiyaremwe kubera umugore, mugabo umugore yaremwe kubera umugabo+. 10 Ni co gituma umugore abwirizwa kugira ikimenyetso c’ubukuru ku mutwe wiwe+ kubera abamarayika+.

11 Nakare, mu bijanye n’Umukama, nta mugore hatari umugabo kandi nta mugabo hatari umugore+. 12 Kuko, nk’uko umugore ava mu mugabo+, ni ko n’umugabo ariho biciye ku mugore+; mugabo ibintu vyose biva ku Mana+. 13 Nimuruce namwe ubwanyu: Mbega birabereye ko umugore asenga Imana atitwikiriye? 14 Mbega uko ibintu bisanzwe bimeze ubwakwo ntikubigisha yuko iyo umugabo afise umushatsi muremure, aba ari agateterwe kuri we; 15 mugabo ko iyo umugore afise umushatsi muremure, aba ari ubuninahazwa+ kuri we? Kuko umushatsi wiwe yawuhawe mu kibanza c’icambarwa co mu mutwe+. 16 Ariko nimba hari uwusa n’uwuharira+ ashigikira uwundi mugenzo kanaka+, nta wundi dufise, n’amashengero y’Imana ni ukwo.

17 Mugabo mu gutanga aya mabwirizwa sindabakeza, kuko mukoranira hamwe atari ku bw’ineza, ahubwo ku bw’inabi+. 18 Kuko ubwa mbere hoho, iyo mukoraniye hamwe mw’ishengero, numva ngo hariho ukwicamwo ibice muri mwebwe+; kandi ku rugero kanaka ndavyemera. 19 Kuko hategerezwa kandi kubaho imice+ muri mwebwe, kugira ngo abashimwa na bo nyene bibonekeze muri mwebwe+.

20 Igihe rero mukoraniye mu kibanza kimwe, ntibishoboka kurya imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba+. 21 Kuko igihe muzirya, umwe wese abanza kurya imfungurwa zo ku mugoroba ziwe bwite, ku buryo umwe aba ashonje mugabo uwundi aborewe. 22 Mbega vy’ukuri ntimufise amazu yo kuriramwo no kunyweramwo+? Canke musuzugura ishengero ry’Imana mukamaramaza abatagira ikintu+? Mbega ndababwire iki? Ndabakeze? Muri ivyo sindabakeza.

23 Kuko nahawe n’Umukama ico nanje nabahereje, yuko Umukama Yezu mw’ijoro+ yagira atangwemwo, yatoye umukate, 24 hanyuma amaze gukenguruka arawumanyura+, avuga ati: “Iki gisobanura umubiri+ wanje utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.” 25 Yagize kuno no ku gikombe+, amaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+. Muragume mugira ibi igihe cose muzokinywa, mu kunyibuka+.” 26 Kuko igihe cose+ murya uyu mukate mukanywa n’iki gikombe, muguma mutangaza urupfu+ rw’Umukama, kugeza ashitse+.

27 Nuko rero, uwo wese arya umukate canke anywa igikombe c’Umukama mu buryo butabereye azogira ikimwagira+ ku bijanye n’umubiri be n’amaraso+ vy’Umukama. 28 Umuntu nabanze arabe ko abereye amaze kwisuzuma neza+, gutyo abone kurya ku mukate no kunywa ku gikombe. 29 Kuko uwurya kandi akanywa aba ariye kandi anyoye urubanza+ kuri we ubwiwe nimba adatahura umubiri ico ari co. 30 Ni co gituma benshi muri mwebwe bagoyagoya bakanarwaragurika, n’abatari bake bakaba basinziriye+ mu rupfu. 31 Mugabo hamwe twotahura ico twebwe ubwacu turi, ntitwocirwa urubanza+. 32 Ariko iyo duciriwe urubanza+, tuba dutojwe indero na Yehova+, kugira ntidutsindirwe+ hamwe n’isi+. 33 Nuko rero, bene wacu, iyo mukoraniye hamwe ngo muzirye+, be murindirana. 34 Nimba hari uwushonje, narye i muhira iwe+, kugira ntimukoranire hamwe ku bwo gucirwa urubanza+. Mugabo ibisigaye nzobitunganya ninashika hiyo.

12 Nayo ivy’ingabirano z’impwemu+ ga bene wacu, sinshaka ko mutabimenya. 2 Murazi yuko igihe mwari abanyamahanga+, mwajanwa kuri vya bigirwamana+ bitavuga+, nk’uko nyene mwajanwa. 3 Ku bw’ico rero, nshaka ko mumenya yuko ata muntu, iyo avugishwa n’impwemu y’Imana, avuga ngo: “Yezu ni ikivume+!”, kandi nta muntu ashobora kuvuga ngo: “Yezu ni Umukama!” atabihawe n’impwemu nyeranda+.

4 Hari rero ingabirano zitandukanye+, mugabo hari impwemu imwe+; 5 hari kandi ubusuku butandukanye+, yamara hari Umukama umwe+; 6 hari kandi uburyo bw’ugukora butandukanye+, yamara Imana+ imwe ni yo ikorera ivyo vyose mu bantu bose+. 7 Mugabo ukwigaragaza kw’impwemu guhabwa umwe wese ku bw’intumbero ngirakamaro+. 8 Nk’akarorero, biciye ku mpwemu umwe arahabwa ijambo ry’ubukerebutsi+, uwundi ijambo ry’ubumenyi+ nk’uko nya mpwemu nyene iri, 9 uwundi ukwizera+ biciye kuri nya mpwemu nyene, uwundi ingabirano z’ugukiza+ biciye kuri iyo mpwemu imwe, 10 uwundi na we ugukora ibikorwa vy’ububasha+, uwundi ukuvuga ubuhanuzi+, uwundi ugutahura+ amajambo yahumetswe+, uwundi indimi zitandukanye+, uwundi na we ugusobanura+ indimi. 11 Mugabo ubwo buryo bw’ugukora bwose burangurwa n’impwemu imwe nyene+, igaha+ umwe wese ukwiwe nk’uko igomba+.

12 Kuko nk’uko nyene umubiri ari umwe mugabo ukaba ufise ibihimba vyinshi, kandi ibihimba vyose vy’uwo mubiri, naho ari vyinshi akaba ari umubiri umwe+, na Kristu ni ukwo+. 13 Kuko vy’ukuri biciye ku mpwemu imwe twese twabatijwe+ mu mubiri umwe, baba Abayuda canke Abagiriki, baba abashumba canke abidegemvya, kandi twese twanyweshejwe+ impwemu imwe.

14 Kuko mu vy’ukuri umubiri utagizwe n’igihimba kimwe, ahubwo ugizwe na vyinshi+. 15 Hamwe ikirenge covuga ngo: “Ko ntari ikiganza, sindi uwo ku mubiri,” ntibica bituma kitaba ico ku mubiri+. 16 Kandi hamwe ugutwi kwovuga ngo: “Ko ntari ijisho, sindi uwo ku mubiri,” ntibica bituma kutaba ukwo ku mubiri+. 17 Iyo umubiri wose uba ijisho, ukwumva kwobaye hehe? Iyo wose uba ukwumva, ukumoterwa kwobaye hehe? 18 Mugabo noneho Imana yashize ibihimba mu mubiri, kimwe cose muri vyo, nk’uko yabishatse+.

19 Iyo vyose biba igihimba kimwe+, umubiri wobaye hehe? 20 Mugabo noneho ni ibihimba vyinshi+, yamara bikaba umubiri umwe. 21 Ijisho ntirishobora kubwira ikiganza ngo: “Sindagukeneye”; eka n’umutwe ntushobora kubwira ibirenge ngo: “Sindabakeneye.” 22 Ahubwo riho, uko biri, ni uko ibihimba vy’umubiri bisa n’ibigoyagoya+ kuruta bikenewe, 23 kandi ibihimba vy’umubiri twiyumvira ko biteye iteka buhoro, ivyo turabikikuza iteka rirushirije kugwira+, ku buryo ibihimba vy’umubiri wacu bisa n’ibidahimbaye ari vyo birushirije kuba ibiteye igomwe cane, 24 mu gihe ibihimba vy’umubiri wacu vyiza ata co bikeneye. Yamara rero, Imana yarateranije umubiri, iha iteka rirushirije kugwira igihimba cari n’ico gihajije, 25 kugira ngo ntihabe ukwicamwo ibice mu mubiri, mugabo ngo ibihimba vyawo bibabarane kumwe+. 26 Kandi iyo igihimba kimwe kibabaye, ibindi bihimba vyose bibabarana+ na co; canke iyo igihimba kimwe kininahajwe+, ibindi bihimba vyose binezeranwa na co+.

27 Namwe muri umubiri wa Kristu, umwe wese muri mwebwe akaba ari igihimba+. 28 Kandi Imana yashize ivyo bihimba bitandukanye mw’ishengero+: ubwa mbere intumwa+, ubwa kabiri abahanuzi+, ubwa gatatu abigisha+; hanyuma ibikorwa vy’ububasha+, hanyuma ingabirano z’ugukiza+; ibikorwa vy’ingirakamaro+, ubushobozi bwo kuyobora+, indimi zitandukanye+. 29 Mbega bose ni intumwa? Mbega bose ni abahanuzi? Mbega bose ni abigisha? Mbega bose bakora ibikorwa vy’ububasha? 30 Mbega bose bafise ingabirano z’ugukiza? Mbega bose bavuga mu ndimi+? Mbega bose ni abasobanuzi+? 31 Mugabo mugume muronderana umwete ingabirano ziruta izindi+. Yamara jewe ndabereka inzira ihebuje+.

13 Hamwe novuga mu ndimi+ z’abantu n’iz’abamarayika mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga canke icuma kivuzwa kigasāma+. 2 Kandi naho noba mfise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi+ nkamenya n’amabanga meranda+ yose n’ubumenyi+ bwose, kandi naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi+, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa+. 3 Kandi naho notanga ivyo ntunze vyose kugira ngaburire abandi+, naho notanga umubiri wanje+ kugira nirate, mugabo nkaba ntagira urukundo+, nta co vyogenda bimariye.

4 Urukundo+ ruriyumanganya+ kandi rugira ubuntu+. Urukundo ntirugira ishari+, ntirwiyemera+, ntirwivyimvya+, 5 ntirwigenza ukutabereye+, ntirurondera inyungu zarwo bwite+, ntirukaza ishavu+. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe+. 6 Ntirunezererwa ibitagororotse+, ahubwo runezeranwa n’ukuri+. 7 Rurenzako muri vyose+, rwemera vyose+, rwizigira vyose+, rwihanganira vyose+.

8 Urukundo ntirwigera runanirwa+. Mugabo zaba ingabirano z’ukuvuga ubuhanuzi, zizokurwaho; zaba indimi, zizohagarara; bwaba ubumenyi, buzokurwaho+. 9 Kuko dufise ubumenyi bw’igice+ kandi tukavuga ubuhanuzi igice+; 10 mugabo igikwiye nicashika+, ivy’igice bizokurwaho. 11 Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko nabaye umugabo+, narakuyeho uturanga tw’uruyoya. 12 Kuko ubu tubona ivyijiji mu cirore c’icuma+, mugabo ico gihe hoho bizoba ari amaso mu yandi+. Ubu nzi igice, mugabo ico gihe hoho nzomenya neza nk’uko nanje nzwi neza+. 13 Ariko ubu hagumaho ukwizera, icizigiro, urukundo, ivyo bitatu; mugabo ikiruta ivyo vyose ni urukundo+.

14 Mukurikirane urukundo, yamara mugume muronderana umwete ingabirano z’impwemu+, ariko canecane kugira muvuge ubuhanuzi+. 2 Kuko uwuvuga mu rundi rurimi atabwira abantu, ahubwo abwira Imana, kuko ata n’umwe yumviriza+, ahubwo avuga amabanga meranda+ biciye ku mpwemu. 3 Ariko uwuvuga ubuhanuzi arubaka+, akaremesha, akirura abantu biciye kw’ijambo ryiwe. 4 Uwuvuga mu rundi rurimi ariyubaka, mugabo uwuvuga ubuhanuzi yubaka ishengero. 5 Nanje nashaka ko mwese muvuga mu zindi ndimi+, mugabo noshima ko muvuga ubuhanuzi+. Vy’ukuri, uwuvuga ubuhanuzi araruta uwuvuga mu zindi ndimi+, kiretse koko uno asobanuye, kugira ngo ishengero ribone kwubakwa. 6 Ariko ubu ga bene wacu, hamwe noza iwanyu ndababwira mu zindi ndimi, ni iciza nyabaki noba ndabakoreye kiretse ndababwiye mfise ivyahishuwe+ canke ubumenyi+ canke ubuhanuzi canke inyigisho?

7 Nkako, ibidafise ubuzima birarekura ijwi+, waba umwironge canke inanga; hatabaye imyanya hagati y’amajwi, homenyekana gute ibiriko biravuzwa ku mwironge canke ku nanga? 8 Kuko vy’ukuri, nimba urumbete ruvugije akamo katamenyekana, ni nde yokwitegurira urugamba+? 9 Muri ubwo buryo nyene, mudakoresheje urundi rurimi mu kuvuga ijambo ritahurika bitagoranye+, homenyekana gute ibiriko biravugwa? Mu vy’ukuri, muzoba muriko muravugira mu kirere+. 10 Mw’isi hashobora kuba hari ubwoko bwinshi bw’amajwi asohorwa n’indimi, yamara nta na bumwe budafise insobanuro. 11 Nimba rero ntategera ico ijwi risohowe n’ururimi rivuze, nzoba ndi umunyamahanga+ ku wuriko aravuga, n’uwuriko aravuga azoba ari umunyamahanga kuri jewe. 12 Na mwebwe rero, ko mwipfuza n’umwete ingabirano z’impwemu+, nimurondere kugwira muri zo kugira ngo ishengero ryubakwe+.

13 Uwuvuga mu rundi rurimi rero nasenge kugira ashobore gusobanura+. 14 Kuko nimba ndiko nsenga mu rundi rurimi, ni ingabirano yanje y’impwemu iba iriko irasenga+, mugabo umuzirikanyi wanje uba urumvye. 15 Hakorwe iki none? Nzosengana ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzosengana umuzirikanyi wanje. Nzoririmbana ishemezo+ ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzoririmbana ishemezo umuzirikanyi wanje+. 16 Ahandiho, niwashikana ishemezo biciye ku ngabirano y’impwemu, uwicaye mu kibanza c’umuntu asanzwe azovuga gute ngo “Amen+” ku gukenguruka kwawe, ko ataba azi ivyo uriko uravuga? 17 Ego ni ko, urakenguruka mu buryo bwiza, mugabo uwo wundi muntu ntaba ariko arubakwa+. 18 Ndakengurukira Imana kuba mvuga mu zindi ndimi ziruta izanyu mwese+. 19 Yamara rero, mw’ishengero nopfuma mvuga amajambo atanu n’umuzirikanyi wanje kugira nigishe n’abandi ku munwa, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rundi rurimi+.

20 Bene wacu, ntimube abana batoyi mu bubasha bwo gutegera+, mugabo mube inzoya ku bijanye n’ububi+; yamara mube abakuze mu bubasha bwo gutegera+. 21 Mw’Itegeko handitswe ngo: “‘Nzobwira iki gisata+ nkoresheje indimi z’abanyamahanga n’iminwa ya ba kavantara+, yamara n’ico gihe nyene ntibazonyumvira,’ ni ko Yehova avuga+.” 22 Indimi rero ni iz’ikimenyetso+, atari ku bemera, ahubwo ku batemera+; ukuvuga ubuhanuzi na kwo si ukw’abatemera, ahubwo ni ukw’abemera+. 23 Hamwe none ishengero ryose ryokoranira mu kibanza kimwe maze bose bakavuga mu zindi ndimi+, hanyuma hakinjira abantu basanzwe canke abatemera, mbega ntibazovuga ko musara? 24 Mugabo iyo mwese muriko muvuga ubuhanuzi hanyuma umuntu atemera canke asanzwe akinjira, akangirwa na bose+, agasuzumwa neza na bose; 25 amabanga yo mu mutima wiwe araja ahabona+, ku buryo azokwubarara hasi agasenga Imana, akamenyesha ati: “Ni ukuri Imana iri kumwe namwe+.”

26 Hakorwe iki none ga bene wacu? Iyo mukoraniye hamwe, umwe aba afise izaburi, uwundi inyigisho, uwundi ivyahishuwe, uwundi urundi rurimi, uwundi insobanuro+. Vyose nibibe ku bw’ukwubaka+. 27 Kandi nimba umuntu avuga mu rundi rurimi, nibigarukirizwe kuri babiri canke batatu babaye benshi, kandi bakurakuranwe; kandi hagire uwusobanura+. 28 Mugabo nimba ata musobanuzi ahari, nagume acereje mw’ishengero, yibwire+ abwire n’Imana. 29 Bitayeko, abahanuzi+ babiri canke batatu nibavuge, abandi na bo batahure insobanuro+. 30 Mugabo nimba uwundi+ ahishuriwe igihe yicaye ng’aho, umwe wa mbere nacereze. 31 Kuko mwese mushobora kuvuga ubuhanuzi+ umwumwe, kugira ngo bose bige kandi bose baremeshwe+. 32 Kandi ingabirano z’impwemu z’abahanuzi zibwirizwa gucungerwa n’abahanuzi. 33 Kuko Imana atari Imana y’umuvurungano+, ahubwo ni iy’amahoro+.

Nk’uko biri mu mashengero y’aberanda yose, 34 abagore nibacereze+ mu mashengero, kuko bitemewe ko bavuga; mugabo nibayoboke+, nk’uko Itegeko+ rivuga. 35 Nimba rero hari kintu bashaka kwiga, nibabaze abagabo babo bwite i muhira, kuko ari agaterasoni+ ku mugore kuvuga mw’ishengero.

36 Ngw’iki? Mbega ijambo ry’Imana ryaje riva iwanyu+, canke ryarabashikiriye gusa?

37 Nimba umuntu yiyumvira ko ari umuhanuzi canke ko afise ingabirano y’impwemu, niyemange ibintu ndabandikiye, kuko ari ibwirizwa ry’Umukama+. 38 Mugabo nimba umuntu adashaka kumenya, aguma mu kutamenya. 39 Nuko rero, bene wacu, mugume muronderana umwete ukuvuga ubuhanuzi+, yamara ntimubuze ukuvuga mu zindi ndimi+. 40 Mugabo vyose bibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde+.

15 Nanje rero ga bene wacu, ndabamenyesha inkuru nziza+ nabamenyesheje+, iyo kandi mwakiriye, ari na yo kandi muhagazemwo+, 2 biciye kuri yo mukaba kandi muriko murakizwa+, biciye kw’ijambo nabamenyeshejemwo inkuru nziza, nimba muyumirako, kiretse nimba vy’ukuri mwemereye ubusa+.

3 Kuko mu bintu vya mbere nabahereje, harimwo ico nanje nahawe+, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga+; 4 kandi yuko yahambwe+, egome, yuko yazuwe+ ku musi ugira gatatu+ nk’uko Ivyanditswe bivuga+; 5 be n’uko yiyeretse Kefa+, hanyuma bamwe cumi na babiri+. 6 Inyuma y’ivyo yiyeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe, benshi muri bo bakaba bakiriho n’ubu+, mugabo bamwe barasinziriye mu rupfu. 7 Mu nyuma yariyeretse Yakobo+, maze yiyereka intumwa zose+; 8 mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse+ nk’aho yiyeretse uwavutse atageze.

9 Kuko ndi uwo hanyuma+ y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa, kuko nahamye+ ishengero ry’Imana. 10 Mugabo bivuye ku buntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana, ubu ndi ico ndi. Kandi ubuntu ata wari abukwiriye bwayo nagiriwe ntibwabaye impfagusa+, mugabo narabize akuya kubarusha bose+, yamara si jewe ahubwo ni ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana buri kumwe nanje+. 11 Ariko yaba jewe canke bo, ni ko twamamaza kandi ni ko namwe mwemeye+.

12 Nimba rero Kristu ariko yamamazwa yuko yazuwe mu bapfuye+, bishoboka bite ngo bamwe muri mwebwe bavuge ko ata zuka ry’abapfuye ririho+? 13 Nimba vy’ukuri ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero ntiyazuwe+. 14 Mugabo nimba Kristu atazuwe, igikorwa cacu c’ukwamamaza ni ic’ubusa vy’ukuri, n’ukwizera kwacu ni ukw’ubusa+. 15 Vyongeye, duca tuba ivyabona vy’Imana vy’ikinyoma+, kuko twashingiye intahe+ Imana yuko yazuye Kristu+ kandi itamuzuye, nimba vy’ukuri abapfuye batazurwa+. 16 Kuko nimba abapfuye batazurwa, na Kristu ntiyazuwe. 17 Bitayeko, nimba Kristu atazuwe, ukwizera kwanyu nta co kumaze; muracari mu bicumuro vyanyu+. 18 Kandi vyongeye, abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe+ na Kristu boba bagiye akagirire+. 19 Nimba muri ubu buzima honyene ari ho twizigiye Kristu+, turateye ikigongwe kuruta abandi bose.

20 Ariko noneho Kristu yarazuwe mu bapfuye+, aba umushuzo+ w’abasinziriye mu rupfu+. 21 Kubera ko urupfu+ rwazananye ku muntu, n’izuka+ ry’abapfuye ryazananye ku muntu. 22 Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa+, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima+. 23 Mugabo umwe wese mu mwanya wiwe bwite: Kristu ni we mushuzo+, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukuhaba* kwiwe+. 24 Hanyuma hazoba iherezo, aho azoshikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se, niyamara guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose+. 25 Kuko ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe+. 26 Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho+. 27 Kuko Imana “yashize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.” Mugabo igihe ivuga ko ‘ibintu vyose vyatanzwe ngo biganzwe+,’ biraboneka yuko hatarimwo umwe yamuha vyose ngo abiganze+. 28 Mugabo igihe ibintu vyose azoba yabihawe ngo abiganze+, ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye+ kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese+.

29 Ahandiho, bazogira bate, ababatizwa kugira babe abapfuye+? Nimba abapfuye batazogenda bazuwe+, kubera iki none babatizwa+ kugira babe abapfuye? 30 Kubera iki kandi twama mu kaga buri saha+? 31 Ku musi ku musi ndahangana n’urupfu+. Ivyo ndavyemeza mfatiye ku mwigino+ mfise kubera mwebwe, bene wacu, umwigino mfise muri Kristu Yezu Umukama wacu. 32 Nimba cokimwe n’abantu nararwaniye n’ibikoko i Efeso+, bimariye iki? Nimba abapfuye batazurwa, “twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa+.” 33 Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza+. 34 Nimwikangure mugarure ubwenge+ mu buryo bw’ubugororotsi kandi ntimuze muracumura, kuko bamwe batazi Imana+. Ndiko mvuga ukwo ngo ndabatere kumaramara+.

35 Yamara rero, hari uwovuga ati: “None abapfuye bazurwa bate? Mbega nyene baza bafise umubiri bwoko ki+?” 36 Wa mburabwenge we! Ico ubivye ntikigirwa kizima kitabanje gupfa+; 37 nayo ku vyerekeye ico ubiba, ntubiba umubiri uzokura, ahubwo ubiba urutete rugaragara+, rugashobora kuba urw’ingano canke urwo ari rwo rwose mu zindi; 38 mugabo Imana iraruha umubiri+ nk’uko biyihimbaye+, rumwe rwose muri izo mbuto rugahabwa umubiri warwo bwite. 39 Inyama zose si zimwe, mugabo hari iy’abantu, hakaba n’iyindi nyama y’ibitungwa, n’iyindi nyama y’inyoni, n’iyindi y’ifi+. 40 Kandi hariho imibiri yo mw’ijuru+, n’imibiri yo kw’isi+; mugabo ubuninahazwa+ bw’imibiri yo mw’ijuru ni ubwoko bumwe, ubw’imibiri yo kw’isi na bwo bukaba ubundi bwoko. 41 Ubuninahazwa bw’izuba+ buri ukwabwo, n’ubuninahazwa bw’ukwezi+ buri ukwabwo, n’ubuninahazwa bw’inyenyeri+ buri ukwabwo; mu vy’ukuri inyenyeri iratandukanye n’iyindi mu buninahazwa.

42 N’izuka ry’abapfuye ni ukwo+. Ubibwa mu kubora, uzurwa mu kutabora+. 43 Ubibwa mu gateterwe+, ukazurwa mu buninahazwa+. Ubibwa mu bugoyagoye+, ukazurwa mu bubasha+. 44 Ubibwa ari umubiri w’inyama+, ukazurwa ari umubiri w’impwemu+. Nimba hariho umubiri w’inyama, hariho n’uw’impwemu. 45 Mbere ni ko vyanditswe ngo: “Umuntu wa mbere Adamu yacitse umuntu* muzima+.” Adamu wa nyuma yacitse impwemu+ itanga ubuzima+. 46 Yamara rero, ica mbere si ic’impwemu, mugabo ni ic’inyama, hanyuma haba ic’impwemu+. 47 Umuntu wa mbere yavuye mw’isi akaba akozwe mu mukungugu+; umuntu wa kabiri yavuye mw’ijuru+. 48 Nk’uko uwukozwe mu mukungugu+ ari, ni ko n’abakozwe mu mukungugu bari; kandi nk’uko uwo mw’ijuru+ ari, ni ko n’abo mw’ijuru bari+. 49 Kandi nk’uko twambaye ishusho+ y’umwe akozwe mu mukungugu, tuzokwambara n’ishusho+ y’uwo mw’ijuru.

50 Ariko ico mvuga ni iki, bene wacu: yuko inyama n’amaraso bidashobora gutorana ubwami bw’Imana+, eka n’ukubora ntigutorana ukutabora+. 51 Ehe ndababwira ibanga ryeranda: Ntituzosinzira mu rupfu twese, mugabo tuzohindurwa twese+, 52 mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe, mu gihe c’urumbete rwa nyuma. Kuko urumbete+ ruzovuga, abapfuye bakazurwa badashobora kubora, natwe tukazohindurwa. 53 Kuko iki kibora gitegerezwa kwambara ukutabora+, kandi iki gipfa+ kigategerezwa kwambara ukudapfa. 54 Mugabo iki kibora nicambara ukutabora, kandi iki gipfa kikambara ukudapfa, ni ho hazoranguka rya jambo ryanditswe ngo: “Urupfu+ ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+.” 55 “Rupfu we, intsinzi yawe iri he? Rupfu we, uruboyi rwawe ruri he+?” 56 Uruboyi+ ruzana urupfu ni igicumuro, mugabo ububasha bw’igicumuro ni Itegeko+. 57 Ariko hashimirwe Imana, kuko iduha intsinzi biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+!

58 Nuko rero, bene wacu bakundwa, mube abashikamye+, mutanyiganyiga, mwama mufise vyinshi mukora mu gikorwa c’Umukama+, muzi yuko ukubira akuya kwanyu atari ukw’ubusa+ mu Mukama.

16 Nayo ku bijanye n’ukwegeranya intererano+ z’aberanda+, nk’uko nahaye amategeko amashengero y’i Galatiya+, namwe nyene nimugire gutyo. 2 Buri musi wa mbere w’iyinga, umwe wese muri mwebwe mu nzu yiwe bwite, nashire ikintu ku ruhande mu bubiko nk’uko azoba atunganiwe, kugira ngo ninashika ntihabe ari ho haba ivyo kwegeranya intererano. 3 Mugabo ninashika iyo, abantu abo ari bo bose muzoshima biciye ku makete+, ni bo nzorungika bajane i Yeruzalemu ingabirano yanyu itanganywe umutima mwiza. 4 Ariko nivyaba bibereye ko na jewe njayo, bazojanayo nanje.

5 Mugabo nzoza iwanyu maze guca i Makedoniya, kuko ngira nce i Makedoniya+; 6 kandi hari aho nocumbika iwanyu canke mbere nkamarana namwe urushana, kugira ngo mumperekeze+ gatoyi aho nzoja hose. 7 Kuko ntashaka kubabona ubu nyene ndiko ndarengana, kubera yuko nizigiye kumarana namwe igihe kanaka+, Yehova+ niyavyemera+. 8 Mugabo ndacagumye i Efeso+ gushika ku musi mukuru wa Pentekoti*; 9 kuko nugururiwe umuryango munini uja ku gikorwa+, ariko abarwanizi ni benshi.

10 Mugabo hamwe Timoteyo+ yoshika, murabe ntagire ubwoba muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa ca Yehova+, nk’uko na jewe ndiko ndagikora. 11 Ntihagire rero n’umwe amugaya+. Mumuherekeze gatoyi mu mahoro, kugira ashike ino aho ndi, kuko ndamurindiranye na bene wacu.

12 Nayo ku vyerekeye Apolo+ mwene wacu, naramwinginze cane ngo azanane iwanyu na bene wacu, yamara ntiyagomvye kuza ubu; mugabo azoza niyaronka akaryo.

13 Mugume murikanuye+, muhagarare mushikamye mu kwizera+, mube abagabo+, mukomere+. 14 Ivyanyu vyose nibibe mu rukundo+.

15 Ndabahimiriza rero, bene wacu: murazi yuko urugo rwa Sitefana ari umushuzo+ w’i Akaya be n’uko bitanze kugira bakorere aberanda+. 16 Ese namwe mwoguma muyobokera abantu mwene abo be n’umuntu wese asenyera ku mugozi umwe n’abandi kandi akabira akuya+. 17 Mugabo ndanezererwa no kuba Sitefana+ na Forutunato na Akayiko bari ng’aha, kubera ko bahababereye. 18 Kuko baruhuriye umutima+ wanje n’uwanyu. Nuko rero mumenye abantu mwene abo+.

19 Amashengero yo muri Aziya arabaramutsa+. Akwila na Pirisika hamwe n’ishengero riri mu nzu yabo+ barabaramutsa mu Mukama bimwe bivuye ku mutima. 20 Bene wacu bose barabaramutsa. Muramukanishe ugusomana kweranda+.

21 Ng’iyi indamutso yanje, iya Paulo, n’ukuboko kwanje bwite+.

22 Nimba hari uwutiyumvamwo Umukama, arakavumwa+. Ewe Mukama wacu, ingo+! 23 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu bubane namwe. 24 Urukundo rwanje rubane namwe mwese mu bumwe na Kristu Yezu.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “bakuze.”

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “ibirori.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Mu kigiriki ni “parusiya” (pa·rou·siʹa). Raba Inyongera ya 4.

Mu kigiriki ni “pisike” (psy·kheʹ). Raba Inyongera ya 6.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika