Ikete ryandikiwe Abaroma
1 Jewe Paulo umushumba+ wa Yezu Kristu kandi yahamagariwe+ kuba intumwa+, yashizwe ku ruhande ku bw’inkuru nziza y’Imana+, 2 iyo yasezeranye kera biciye ku bahanuzi bayo+ mu Vyanditswe vyeranda, 3 ku vyerekeye Umwana wayo, uwavuye mu ruvyaro rwa Dawidi+ hisunzwe umubiri+, 4 mugabo ku bubasha+ akaba yiswe Umwana w’Imana+ hisunzwe impwemu+ y’ubweranda biciye ku kuzuka mu bapfuye+—egome, Yezu Kristu Umukama wacu, 5 biciye kuri we tukaba twararonse ubuntu ata wari abukwiriye+ be n’ibanga ry’ukuba intumwa+ kugira ngo mu mahanga yose+ habe ukugamburuka kuvuye ku kwizera ku bijanye n’izina ryiwe, 6 muri ayo mahanga na mwebwe mukaba muri abahamagariwe kwegukira Yezu Kristu— 7 ndabandikiye mwebwe abakundwa b’Imana bose bari i Roma, bahamagariwe+ kuba aberanda+:
Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu+.
8 Imbere ya vyose, ndakengurukira+ Imana yanje biciye kuri Yezu Kristu ku biberekeye mwese, kubera ko ukwizera kwanyu kuvugwa+ mw’isi yose. 9 Kuko Imana, iyo nkorera igikorwa ceranda n’impwemu yanje ku bijanye n’inkuru nziza yerekeye Umwana wayo, ari yo cabona canje+ c’ukuntu nama ndabashira mu masengesho yanje ubudahengeshanya+, 10 nsaba yuko nimba bishoboka ubu noza natunganirwa mu kugomba+ kw’Imana kugira ngo nze iwanyu. 11 Kuko ncambirwa kubabona+, kugira ndabahe ingabirano y’ivy’impwemu+ kugira ngo mugirwe abashikamye; 12 canke riho, kugira habe uguhanahana indemesho+ muri mwebwe, umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi+, ukwanyu n’ukwanje.
13 Mugabo ga bene wacu+, sinshaka ko muyoberwa yuko kenshi niyemeje kuza iwanyu+, mugabo nkagira ikintangira gushika ubu, kugira ngo ndonke ivyamwa+ no muri mwebwe, cokimwe no mu yandi mahanga. 14 Ku Bagiriki no ku batari Abagiriki, ku nkerebutsi+ no ku mburabwenge, mfise umwenda: 15 nuko rero ku ruhande rwanje ndashashaye kubamenyesha inkuru nziza+ namwe abari iyo i Roma+. 16 Kuko ntaterwa isoni+ n’inkuru nziza; nkako, ni yo bubasha bw’Imana+ buzanira ubukiriro umuntu wese afise ukwizera+, ubwa mbere Umuyuda+ hanyuma n’Umugiriki+; 17 kuko muri yo ari ho ubugororotsi bw’Imana+ buriko burahishurwa bivanye n’ukwizera+ kandi bikagana ku kwizera, nk’uko vyanditswe ngo: “Mugabo umugororotsi—azobeshwaho n’ukwizera+.”
18 Kuko uburake bw’Imana+ buriko burahishurwa buvuye mw’ijuru ngo bururumbire ukutibanga Imana kwose n’ukutagororoka kwose+ kw’abantu bakandamiza ukuri+ mu nzira zitagororotse+, 19 kubera ko ivyomenyekana ku vyerekeye Imana vyibonekeza muri bo+, kuko Imana yabigize ivyibonekeza kuri bo+. 20 Kuko kamere zayo zitaboneka+ zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi+, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe+, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera+ n’Ubumana bwayo+, ku buryo ata co bireguza+; 21 kuko naho bari bazi Imana batayininahaje bwa Mana canke ngo bayikengurukire+, ahubwo bacitse ibijuju+ mu vyiyumviro vyabo, kandi imitima yabo y’imburabwenge yacitse iyitwikiriwe n’umwiza+. 22 Naho nyene bemeza ko ari inkerebutsi, bacitse ibipfu+, 23 ubuninahazwa+ bwa ya Mana itabora babuhindura ikintu kimeze nk’ishusho+ y’umuntu abora n’iy’inyoni n’ibiremwa vy’amaguru ane n’ibikwega inda hasi+.
24 Imana rero, nk’uko ivyipfuzo vy’imitima yabo biri, yarabahebeye ubuhumane+, kugira ngo imibiri yabo+ iteterezwe muri bo+; 25 abo mbere ukuri+ kw’Imana bagukavye ikinyoma+, bagasenga bakongera bagakorera igikorwa ceranda ikiremwa aho kubigirira Uwaremye, ari we ahezagirwa ibihe vyose. Amen. 26 Ni co gituma Imana yabahebeye inambu z’umubiri z’agaterasoni+, kuko abagore babo bahinduye uko imibiri yabo isanzwe ikoreshwa igasigara ikoreshwa ibidakorwa+; 27 kandi n’abagabo nyene baretse uko umubiri w’umugore usanzwe ukoreshwa+, barurumba bimwe bikaze mu nambu ikomeye bagiriranira, abagabo ku bagabo+, bagakora ibiteye isoni+ kandi bakaronka muri bo impembo ishitse+, iyari ikwiranye n’ubuzimire bwabo+.
28 Kandi nk’uko batashimye kumenya Imana mu buryo butagira amakosa+, Imana yarabahebeye imero y’umuzirikanyi itemewe+, ngo bakore ibitabereye+, 29 n’ingene bari buzuye ukutagororoka kwose+, ububisha+, umwina+, ububi+, buzuye agashari+, ubwicanyi+, ugushihana+, ubuhendanyi+, agatima ko gukora ikibi+, bakaba abavuga ubwongoshwe+, 30 abambika ibara abandi+, abanka Imana, abatisonera+, abibona+, abishima+, abarementanya ibibi+, abagambararira abavyeyi+, 31 batagira ugutegera+, bata amasezerano+, batiyumvamwo ababo+, abatagira imbabazi+. 32 Naho abo bazi neza rwose ingingo igororotse yashinzwe n’Imana+, yuko abaza barakora mwene ivyo bakwiriye gupfa+, ntibaguma babikora gusa, ahubwo baranashigikira+ abaza barabikora.
2 Nta co wireguza rero, yewe muntu+, waba nde, nimba uca urubanza+; kuko ku kintu ucirako uwundi urubanza, ubwawe witsindisha, kubera ko wewe uca urubanza+ uza urakora bino nyene+. 2 Ubu turazi yuko urubanza rw’Imana, nk’uko ukuri kuri+, ruri ku baza barakora mwene ivyo.
3 Mugabo woba wiyumvira ga yewe muntu+, yuko uzokira urubanza rw’Imana mu gihe ucira urubanza abaza barakora mwene ivyo kandi na wewe ari vyo ukora+? 4 Canke usuzugura ubutunzi bw’ubuntu bwayo+ n’ukwirengagiza kwayo+ n’ukwiyumanganya kwayo+, kubera ko utazi yuko ubuntu bw’Imana buriko burondera kukujana ku kwigaya+? 5 Mugabo nk’uko ubukomantare bwawe+ n’umutima wawe utigaya biri+, uriko wirundaniriza uburake+ ku musi w’uburake+ n’uw’uguhishurwa+ kw’urubanza rugororotse rw’Imana+. 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+: 7 ubuzima budahera ku bariko barondera ubuninahazwa n’iteka n’ukutabora+ mu kwihangana mu gikorwa ciza; 8 ariko ku banyamahane+ kandi bagambararira ukuri+ mugabo bakagamburukira ibitagororotse hazoba uburake n’ishavu+, 9 amakuba n’amarushwa, ku buzima bw’umuntu wese akora ikibi, ubwa mbere ku bw’Umuyuda+ hanyuma no ku bw’Umugiriki+; 10 mugabo ubuninahazwa n’iteka n’amahoro ku muntu wese akora iciza+, ubwa mbere ku Muyuda+, hanyuma no ku Mugiriki+. 11 Kuko Imana itagira nkunzi+.
12 Nk’akarorero, abo bose bacumuye ata tegeko bazopfa ata tegeko nyene+; mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’itegeko+ bazocirwa urubanza n’itegeko+. 13 Kuko abumva itegeko atari bo bagororotsi imbere y’Imana, mugabo abakora+ ivyo itegeko rivuga ni bo bazokwitwa abagororotsi+. 14 Kuko igihe cose abanyamahanga+ badafise itegeko+ bakoze ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo+, abo bantu, naho batagira itegeko, baba babaye itegeko kuri bo ubwabo. 15 Ni bo nyene berekana ko ibiri mw’itegeko vyanditse mu mitima yabo+, mu gihe ijwi ryo mu mutima ryabo+ rishinga intahe hamwe na bo, kandi mu vyiyumviro vyabo bararegwa+ canke mbere bakaregurwa. 16 Ivyo bizoba umusi Imana izocira urubanza ibintu abantu+ bagize ibanga+, ikaruca biciye kuri Kristu Yezu+, nk’uko inkuru nziza menyekanisha iri+.
17 Nimba rero witwa Umuyuda+ ukaba wishimikiza itegeko+ kandi ukishimira Imana yawe+, 18 vyongeye ukaba uzi ukugomba kwayo+ kandi ugashima ibintu vy’agahebuza kuko wigishwa ku munwa mw’Itegeko+; 19 kandi ukaba waranyuzwe yuko uri indongozi y’impumyi+, umuco ku bari mu mwiza+, 20 uwukosora imburabwenge+, umwigisha w’inzoya+, ukaba kandi ufise mw’Itegeko igikanka+ c’ubumenyi n’ic’ukuri+... 21 ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha+? Wewe wamamaza ngo: “Ntiwibe+,” uriba+? 22 Wewe uvuga ngo: “Nturenge ibigo+,” urarenga ibigo? Wewe werekana ko uzinukwa ibigirwamana, urasahura+ insengero? 23 Wewe wishimira itegeko, uratetereza Imana mu kurenga Itegeko+? 24 Kuko “izina ry’Imana ririko rirogotwako mu mahanga kubera mwebwe+”; ni nk’uko vyanditswe.
25 Nkako, ukugenyerwa+ kugira akamaro igihe gusa uguma ukora ivyo itegeko rivuga+; mugabo nimba urenga itegeko, ukugenyerwa kwawe+ kuba gucitse ukutagenyerwa+. 26 Nimba rero uwutagenyerewe+ agumije ibisabwa bigororotse+ vyo mw’Itegeko, ukutagenyerwa kwiwe ntikuzoharurwa none nk’ukugenyerwa+? 27 Kandi uwutagenyerewe asanzwe ameze gutyo, ashikije Itegeko, azogucira urubanza wewe+ ufise amategeko yaryo yanditse be n’ukugenyerwa mugabo ukaba urenga amategeko. 28 Kuko uwuri Umuyuda inyuma atari we Muyuda+, eka n’ukugenyerwa kw’inyuma ku mubiri si kwo kugenyerwa+. 29 Mugabo Umuyuda ni uwuri we imbere+, kandi ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima+ biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse+. Ishimagizwa+ ry’uwo ntiriva ku bantu, ahubwo riva ku Mana+.
3 None Umuyuda asumvya abandi iki+, canke akamaro k’ukugenyerwa ni akahe+? 2 Birimwo uturusho twinshi mu buryo bwose. Imbere ya vyose, ni kubera ko amajambo meranda y’Imana ari bo yajejwe+. 3 None bimeze bite? Nimba bamwe baterekanye ukwizera+, mbega ukutizera kwabo kwoba kuzotuma ubwizigirwa+ bw’Imana butagira ico bumara+? 4 Ntibikabe! Mugabo Imana iboneke ko ari inyakuri+, naho umuntu wese yoboneka ko ari umunyakinyoma+, nk’uko vyanditswe ngo: “Kugira ngo uboneke ko ugororotse mu majambo yawe kandi utsinde igihe uriko uracirwa urubanza+.” 5 Ariko nimba ukutagororoka kwacu gushira imbere ubugororotsi bw’Imana+, tuvuge iki none? Imana yoba irenganya+ igihe irekura uburake bwayo? (Ndiko mvuga nk’umuntu+.) 6 Ntibikabe! Ahandiho none, Imana izocira urubanza isi gute+?
7 Yamara nimba ukuri kw’Imana+ kurushirije kuja ahabona ku bw’ubuninahazwa bwayo bivuye ku kinyoma canje, kubera iki none nanje noba ngicirwa urubanza rw’umucumuzi+? 8 Kandi, nk’uko tuvyagirizwa tubesherwa+ kandi bamwe bakavuga ko ari ko tuvuga, twobuzwa n’iki kuvuga ngo: “Dukore ibibi kugira ngo ivyiza bibone kuza+”? Urubanza+ rucirwa abo bantu rurahuye n’ubutungane+.
9 Tuvuge iki none? Ivyacu vyoba ari vyo vyiza kuruta+? Habe namba! Kuko aho haruguru duhejeje gushikiriza ikirego c’uko Abayuda n’Abagiriki bagabwa n’igicumuro bose+; 10 ni nk’uko vyanditswe ngo: “Nta mugororotsi ariho, habe n’umwe+; 11 nta n’umwe ariho afise ugutahura na gukeyi, nta n’umwe ariho arondera Imana+. 12 Bose barahuvye, bose hamwe bacitse abatagira ico bamaze; nta n’umwe ariho agira ubuntu, ntihagira n’umwe+.” 13 “Umuhogo wabo ni imva irangaye, bahendanishije indimi zabo+.” “Ubumara bw’incira buri inyuma y’iminwa yabo+.” 14 “Kandi akanwa kabo kuzuye ukuvumana be n’amajambo y’umururazi+.” 15 “Ibirenge vyabo vyihutira gusesa amaraso+.” 16 “Agatikizo n’amagorwa biri mu nzira zabo+, 17 kandi ntibamenye inzira y’amahoro+.” 18 “Nta gutinya Imana kuri imbere y’amaso yabo+.”
19 Ubu turazi yuko ibintu vyose Itegeko+ rivuga rivyerekeza ku bagabwa n’Itegeko, kugira ngo iminwa yose izibwe+, n’isi yose icike iyikwiriye+ igihano imbere y’Imana+. 20 Biciye ku bikorwa vy’itegeko rero nta muntu n’umwe azokwitwa umugororotsi+ imbere yayo, kuko biciye kw’itegeko+ ari ho ubumenyi butagira amakosa bwerekeye igicumuro buboneka+.
21 Mugabo ubu, ubugororotsi bw’Imana+ bwarabonetse bidaciye kw’itegeko, nk’uko bishingirwa intahe+ n’Itegeko+ be n’Abahanuzi+; 22 egome, ubugororotsi bw’Imana biciye ku kwizera Yezu Kristu+, ku bw’abo bose bafise ukwizera+. Kuko ata tandukaniro rihari+. 23 Kuko bose bacumuye+ bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana+, 24 kandi ni nk’ingabirano ya gusa+ kubona bariko bitwa abagororotsi ku buntu ata wari abukwiriye bwayo+, mu kubohorwa biciye ku ncungu*+ yarishwe na Kristu Yezu. 25 Imana yaramushizeho ngo abe ishikanwa ry’impongano+ biciye ku kwizera amaraso yiwe+. Kwari ukugira ngo yerekane ubugororotsi bwayo bwite kuko yariko ibabarira ibicumuro+ vyabaye kera igihe Imana yagira ukwirengagiza+; 26 kugira ngo yerekane ubugororotsi+ bwayo bwite muri iki kiringo, ngo ibe iyigororotse mbere n’igihe yita umugororotsi+ umuntu yizera Yezu.
27 None ukwirata kuri hehe+? Kurakuwemwo. Biciye kw’itegeko irihe+? Rimwe ry’ibikorwa+? Oya, habe namba! ahubwo biciye kw’itegeko ry’ukwizera+. 28 Kuko tubona ko umuntu yitwa umugororotsi bivuye ku kwizera, bitavuye ku bikorwa vy’itegeko+. 29 Canke yoba ari Imana y’Abayuda gusa+? Mbega si iy’abanyamahanga na bo+? Egome, ni iy’abanyamahanga na bo+, 30 nimba vy’ukuri Imana ari imwe+, ari na yo izokwita abagenyerewe+ abagororotsi bivuye ku kwizera, n’abatagenyerewe+ ikabita abagororotsi biciye ku kwizera kwabo. 31 None itegeko turarikuraho biciye ku kwizera kwacu+? Ntibikabe! Ahubwo riho turashimangira itegeko+.
4 Ko bimeze bityo, tuvuge iki kuri Aburahamu sogokuruza wacu+ ku mubiri? 2 Nk’akarorero, iyo Aburahamu yitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa+, yari kugira imvo yo kwirata; mugabo atari ku Mana. 3 None icanditswe kivuga iki? Kivuga giti: “Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+.” 4 Ku muntu akora rero+, impembo ntiharurwa nk’ubuntu ata wari abukwiriye+, ahubwo iharurwa nk’umwenda+. 5 Ariko ku wudakora mugabo akizera+ umwe yita uwutibanga Imana umugororotsi, ukwizera kwiwe kuraharurwa nk’ubugororotsi+. 6 Nk’uko na Dawidi avuga ivy’ubuhirwe bw’umuntu Imana iharurako ubugororotsi bitavuye ku bikorwa, ati: 7 “Hahiriwe abo ibikorwa vyabo vy’ubugarariji bihariwe+, n’ibicumuro vyabo bigapfukwa+; 8 hahiriwe umuntu igicumuro ciwe Yehova atazogenda agiharuye+.”
9 None ubwo buhirwe bwoba buza ku bantu bagenyerewe canke no ku bantu batagenyerewe+? Kuko tuvuga duti: “Aburahamu ukwizera kwiwe yaguharuweko nk’ubugororotsi+.” 10 None kwaharuwe ibintu vyifashe gute? Igihe yari yaragenyerewe canke ataragenyerwa+? Si igihe yari yaragenyerewe, ahubwo ni igihe atari bwagenyerwe. 11 Kandi yararonse ikimenyetso+, ni co kugenyerwa, bwa kidodo c’ubugororotsi bivuye ku kwizera yari afise igihe atari bwagenyerwe, kugira abe se+ w’abari n’ukwizera bose+ ataragenyerwa, kugira ngo baharurweko ubugororotsi; 12 abe na se w’uruvyaro rutagenyerewe, atari gusa ku bumira ku kugenyerwa, mugabo no ku bagendera ku rutonde mu makanda y’ukwo kwizera bataragenyerwa, ari na ko data+ Aburahamu yari ari.
13 Kuko bitaciye kw’itegeko ngo Aburahamu canke uruvyaro* rwiwe aronke wa muhango+ w’uko yobaye samuragwa w’isi, ahubwo vyaciye ku bugororotsi bivuye ku kwizera+. 14 Kuko nimba abumira kw’itegeko ari ba samuragwa, ukwizera kuzoba kubaye impfagusa, n’umuhango ukaba ukuweho+. 15 Mu vy’ukuri Itegeko rizana uburake+, mugabo ahatagira itegeko, nta kugabitanya kuba kukihabaye+.
16 Ni co gituma vyavuye ku kwizera, kugira bibe nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye buri+, ngo umuhango+ ube ntakekeranywa ku ruvyaro rwiwe rwose+, atari gusa ku rwumira kw’Itegeko, ahubwo no ku rwumira ku kwizera kwa Aburahamu. (Ni data+ wacu twese, 17 nk’uko vyanditswe ngo: “Ngushizeho ngo ube se w’amahanga menshi+.”) Ivyo vyabereye imbere y’Uwo yari yizeye, ari we Mana, imwe igira bazima abapfuye+ kandi igahamagara ibitariho nk’aho vyoba biriho+. 18 Naho yari ageze aho atakigira icizigiro, nticabujije ko yizera+ yishimikije icizigiro, kugira acike se w’amahanga menshi+ nk’uko vyari vyaravuzwe ngo: “Ukwo ni ko uruvyaro rwawe ruzoba+.” 19 Kandi naho atagoyagoye mu kwizera, yararavye umubiri wiwe bwite, ico gihe ukaba wasa n’uwapfuye+, kuko yari yegereje imyaka ijana+, araba n’ingene inda ya Sara yasa n’iyapfuye+. 20 Mugabo kubera umuhango+ w’Imana ntiyahungabanijwe n’ukutizera+, ahubwo yabaye umunyabubasha biciye ku kwizera kwiwe+, aninahaza Imana 21 akaba kandi yari yarajijutse rwose yuko ivyo yari yarasezeranye yari ishoboye no kubikora+. 22 Ni co gituma “yabiharuweko nk’ubugororotsi+.”
23 Ariko kuba handitswe ngo: “yabiharuweko+”, ntivyanditswe ku bwiwe gusa+, 24 ahubwo vyanditswe no ku bwa twebwe abagenewe kubiharurwako, kuko twemera umwe yazura Yezu Umukama wacu mu bapfuye+. 25 Yaratanzwe ku bw’amakosa yacu+, hanyuma arazurwa kugira twitwe abagororotsi+.
5 Rero, ubu ko tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku kwizera+, tunezererwe amahoro+ hamwe n’Imana biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu, 2 biciye kuri we kandi tukaba twararonse uburyo bwo gushika+ mu buntu ata wari abukwiriye biciye ku kwizera, nya buntu bukaba ari bwo duhagazemwo ubu; kandi twigine, twishimikije icizigiro+ c’ubuninahazwa bw’Imana. 3 Kandi si ivyo gusa, ahubwo twigine igihe turi mu makuba+, kuko tuzi yuko amakuba azana ukwihangana+; 4 ukwihangana na kwo kuzana ugushimwa+; ugushimwa na kwo kuzana icizigiro+, 5 kandi icizigiro ntigitetereza+; kuko urukundo rw’Imana+ rwasutswe mu mitima yacu+ biciye ku mpwemu nyeranda+ twahawe.
6 Kuko mu vy’ukuri igihe twari tukiri abagoyagoya+ ari ho Kristu yapfiriye abatibanga Imana, ku gihe cashinzwe+. 7 Kuko bitoroshe ko umuntu apfira umugororotsi+; mu vy’ukuri, umuntu mwiza+ kumbure umuntu yokwubahuka kumupfira+. 8 Mugabo Imana irashimagiza urukundo+ rwayo bwite kuri twebwe, kuko Kristu yadupfiriye tukiri abacumuzi+. 9 Rero, ubu ko tumaze kwitwa abagororotsi biciye ku maraso yiwe+, tuzorushiriza gukizwa uburake biciye kuri we+. 10 Kuko nimba, igihe twari abansi+, twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo+, ubu ko twasubijwe hamwe, tuzorushiriza gukizwa n’ubuzima bwiwe+. 11 Kandi si ivyo gusa, ahubwo mbere turigina mu Mana biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu, biciye kuri we ubu tukaba twararonse ukwo gusubiza hamwe+.
12 Ni co gituma, nk’uko igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe+ urupfu+ na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye+... 13 Kuko igicumuro cariho mw’isi imbere y’uko Itegeko ribaho, mugabo nta wagirizwa igicumuro igihe ata tegeko ririho+. 14 Yamara rero, urupfu rwaraganje kuva kuri Adamu gushika kuri Musa+, mbere no ku batari barakoze igicumuro gisa n’ukugabitanya kwa Adamu+, ari we asa n’umwe yabwirizwa kuza+.
15 Mugabo ivya ya ngabirano ntibimeze nk’uko vyari kuri rya kosa. Kuko nimba benshi barapfuye biciye kw’ikosa ry’umuntu umwe, ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana be n’ingabirano ya gusa yayo hamwe n’ubuntu ata wari abukwiriye buboneka biciye kuri wa muntu umwe+ Yezu Kristu bwararushirije kugwira kuri benshi+. 16 Vyongeye, ivya ya ngabirano ya gusa+ ntibimeze nk’uko ibintu vyagenze biciye kuri wa muntu umwe yacumura+. Kuko urubanza+ rwavuyemwo ugutsindwa bivuye kw’ikosa rimwe+, mugabo ya ngabirano yavuyemwo ukwitwa abagororotsi bivuye ku makosa menshi+. 17 Kuko nimba bivuye kw’ikosa ry’umuntu umwe+ urupfu rwaraganje+ biciye kuri uyo, abaronka ubuntu ata wari abukwiriye bugwiriye+ be n’ingabirano ya gusa+ y’ubugororotsi bazorushiriza kuganza+ mu buzima biciye kuri uyo muntu umwe, Yezu Kristu+.
18 Nuko rero, nk’uko abantu b’uburyo bwose batsinzwe n’urubanza bivuye kw’ikosa rimwe+, ni na ko abantu b’uburyo bwose+ bitwa abagororotsi ku bw’ubuzima+ bivuye ku gikorwa kimwe c’ukuregurwa*+. 19 Kuko nk’uko benshi+ bagizwe abacumuzi bivuye ku bugambarazi bw’umuntu umwe, ni na ko benshi+ bazogirwa abagororotsi+ bivuye ku bugamburutsi+ bwa wa muntu umwe. 20 Itegeko+ rero ryaraje hambavu y’ivyo, kugira ngo ugukora amakosa kugwire+. Mugabo ahantu igicumuro+ cagwiriye, ubuntu ata wari abukwiriye+ bwararushirije kugwira. 21 Ku bw’intumbero iyihe? Kugira ngo, nk’uko igicumuro caganje hamwe n’urupfu+, n’ubuntu ata wari abukwiriye+ buganze biciye ku bugororotsi ku bw’ubuzima budahera+ biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu.
6 None rero, tuvuge iki? Tugume mu gicumuro, kugira ngo ubuntu ata wari abukwiriye bugwire+? 2 Ntibikabe! Ko twapfuye ku bijanye n’igicumuro+, twoba tukibandanya gute kuba muri co+? 3 Canke ntimuzi yuko twese ababatijwe muri Kristu Yezu+ twabatijwe mu rupfu rwiwe+? 4 Twahambanywe+ na we rero biciye ku kubatizwa kwacu mu rupfu rwiwe, kugira ngo nk’uko Kristu yazuwe mu bapfuye biciye ku buninahazwa bwa Se+, na twebwe nyene tugendere mu buzima bushasha+. 5 Kuko nimba twacitse abunze ubumwe na we mu rupfu rusa n’urwiwe+, nta nkeka kandi ko tuzokwunga ubumwe na we mw’izuka risa n’iryiwe+; 6 kuko tuzi yuko umuntu wacu wa kera yamanikanywe na we+, kugira ngo umubiri wacu w’umucumuzi ntugire ico ushikako+, ntitwongere kubandanya kuba abashumba b’igicumuro+. 7 Kuko uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe+.
8 Vyongeye, nimba twarapfanye na Kristu, turemera yuko kandi tuzobanaho na we+. 9 Kuko tuzi yuko Kristu, ubu yazuwe mu bapfuye+, atagipfa+; urupfu ntirukimuganza. 10 Kuko urupfu yapfuye, yarupfuye ku bijanye n’igicumuro rimwe rizima+; mugabo ubuzima abayeho, abubayeho ku bijanye n’Imana+. 11 Na mwebwe nyene: mwibone ko mwapfuye+ koko ku bijanye n’igicumuro mugabo ko muri bazima+ ku bijanye n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.
12 Ntimureke rero ngo igicumuro kibandanye kuganza+ nk’umwami mu mibiri yanyu ipfa, ngo mugamburukire ivyipfuzo vyayo+. 13 Eka ntimunabandanye gushikiriza ibihimba vyanyu igicumuro+ nk’ibirwanisho vy’ukutagororoka+, ahubwo mwishikirize Imana nk’abazima+ bavuye mu bapfuye, n’ibihimba vyanyu mubishikirize Imana nk’ibirwanisho+ vy’ukugororoka. 14 Kuko igicumuro kidategerezwa kubaganza, kuko mutagabwa n’itegeko+ mugabo mugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye+.
15 Tuvuge iki none? Dukore igicumuro kubera ko tutagabwa n’itegeko+ mugabo tugabwa n’ubuntu ata wari abukwiriye+? Ntibikabe! 16 Ntimuzi yuko nimba mugumye mwishikiriza umuntu nk’abashumba bamugamburukira muba muri abashumba biwe kuko mumugamburukira+, mukaba ab’igicumuro+ bikavamwo urupfu+ canke ab’ubugamburutsi+ bikavamwo ubugororotsi+? 17 Ariko hashimirwe Imana kubona mwari abashumba b’igicumuro mugabo mukaba mwacitse abagamburukira ubwo bwoko bw’inyigisho bivuye ku mutima, ari yo mwahawe+. 18 Egome, ko mwagizwe abidegemvya+ mukava mu gicumuro, mwacitse abashumba+ b’ubugororotsi+. 19 Ndiko mvuga nkoresheje amajambo y’abantu kubera ubugoyagoye bw’umubiri wanyu+: kuko nk’uko mwashikirije ibihimba vyanyu+ ngo bibe abashumba b’ubuhumane+ n’ubugarariji ngo mukore ivy’ubugarariji, n’ubu nimushikirize ibihimba vyanyu ngo bibe abashumba b’ubugororotsi ngo mukore ivy’ubweranda+. 20 Kuko igihe mwari abashumba b’igicumuro+, mwari abidegemvya ku bijanye n’ubugororotsi.
21 None icamwa+ mwari mufise ico gihe cari igiki? Vyari ibintu+ ubu bibatera isoni. Kuko iherezo ry’ivyo ari urupfu+. 22 Ariko ubu, kubera ko mwagizwe abidegemvya mukava mu gicumuro mugabo mugacika abashumba b’Imana+, muriko muraronka icamwa canyu+ mu buryo bw’ubweranda, kandi iherezo ni ubuzima budahera+. 23 Kuko impembo igicumuro gitanga ari urupfu+, mugabo ingabirano+ Imana itanga ni ubuzima budahera+ biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.
7 Vyoba bishoboka ko mutazi ga bene wacu (kuko ndiko mbwira abazi itegeko), ko Itegeko riganza umuntu igihe akiriho+? 2 Nk’akarorero, umugore yubatse aboherwa n’itegeko ku mugabo wiwe igihe uno akiri muzima; mugabo iyo umugabo wiwe apfuye, aba abohowe itegeko ry’umugabo wiwe+. 3 Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+.
4 Nuko rero, bavukanyi banje, na mwebwe nyene mwaragizwe abapfuye kw’Itegeko+ biciye ku mubiri wa Kristu, ngo mucike ab’uwundi+, ab’umwe yazurwa mu bapfuye+, kugira ngo twamire ivyamwa+ Imana. 5 Kuko igihe twabaho duhuza n’umubiri+, inambu z’umubiri zihengamiye ku gicumuro zakaburwa n’Itegeko zarakora mu bihimba vyacu kugira ngo twamire ivyamwa urupfu+. 6 Mugabo ubu twarabohowe Itegeko+, kubera ko twapfuye+ kuri kirya twari twarafatishijwe, kugira ngo tube abashumba+ mu buryo bushasha biciye ku mpwemu+, atari mu buryo bwa kera biciye ku mategeko yanditse+.
7 None rero tuvuge iki? Mbega Itegeko ni igicumuro+? Ntibikabe! Mu vy’ukuri simba naramenye igicumuro+ iyo hataba Itegeko; kandi nk’akarorero, simba naramenye umwina+ ico ari co iyo Itegeko ritavuga riti: “Ntukagire umwina+.” 8 Mugabo igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa+, carazanye muri jewe umwina w’ubwoko bwose, kuko igihe ata tegeko ryariho igicumuro cari capfuye+. 9 Nkako, kera nari muzima ata tegeko+; mugabo aho ibwirizwa rishikiye+, igicumuro carasubiye kuba kizima, mugabo jewe ndapfa+. 10 Kandi ibwirizwa ryajana ku buzima+, nasanze rijana ku rupfu+. 11 Kuko igicumuro, kubera cahawe akabero n’ibwirizwa, carandyosharyosheje+ kiranyica biciye kuri ryo. 12 Ni co gituma Itegeko ryoryo ari ryeranda+, kandi ibwirizwa ni ryeranda n’irigororotse+ rikaba na ryiza+.
13 None iciza cacitse urupfu kuri jewe? Ntibikabe! Ahubwo ni igicumuro, kugira ngo cerekanwe nk’igicumuro kinzanira urupfu biciye ku ciza+; kugira ngo igicumuro kirushirize gucika igicumuzi biciye kw’ibwirizwa+. 14 Kuko tuzi ko Itegeko ari iry’impwemu+; mugabo jewe ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro+. 15 Kuko ico nkora ata co nzi. Kuko ico nshaka atari co nguma nkora; mugabo ico nanka ni co nkora. 16 Ariko nimba ico ntashaka ari co nkora+, ndemera yuko Itegeko ari ryiza+. 17 Mugabo ubu uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+. 18 Kuko nzi yuko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo+; kuko ubushobozi bwo gushaka+ buri kumwe nanje, mugabo ubushobozi bwo gukora+ iciza ntabwo. 19 Kuko iciza nshaka atari co nkora+, mugabo ikibi ntashaka kikaba ari co nguma nkora. 20 Nimba rero ico ntashaka ari co nkora, uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+.
21 Mbona rero iri tegeko ku binyerekeye: ni uko iyo nshatse gukora ikigororotse+, ikibi kibana nanje+. 22 Mu vy’ukuri ndahimbarwa+ n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu+ ndi imbere muri jewe ari, 23 mugabo mbona mu bihimba vyanje+ irindi tegeko+ rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje+ rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro+ riri mu bihimba vyanje. 24 Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu+? 25 Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu+! Nuko rero, mu muzirikanyi wanje jewe ndi umushumba w’itegeko ry’Imana+, mugabo mu mubiri wanje nkaba umushumba w’itegeko ry’igicumuro+.
8 Abunze ubumwe na Kristu Yezu rero ntibatsindwa n’urubanza+. 2 Kuko itegeko+ rya ya mpwemu+ itanga ubuzima+ mu bumwe na Kristu Yezu ryabagize abidegemvya+ mukava kw’itegeko ry’igicumuro rikaba n’iry’urupfu+. 3 Kuko, bitumwe n’uko Itegeko+ ata bubasha ryari rifise igihe ryari goyigoyi+ bivuye ku mubiri, Imana yatsindishije igicumuro mu mubiri, mu kurungika Umwana+ wayo bwite mu mubiri usa n’uwucumura+ no ku vyerekeye igicumuro+, 4 kugira ngo igisabwa kigororotse c’Itegeko kirangukire+ muri twebwe abatagenda bisunga umubiri, ahubwo bagenda bisunga impwemu+. 5 Kuko abisunga umubiri bashira imizirikanyi yabo ku bintu vy’umubiri+, mugabo abisunga impwemu bakayishira ku bintu vy’impwemu+. 6 Kuko kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo urupfu+, mugabo kugumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu+ bivamwo ubuzima n’amahoro; 7 kubera ko kugumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri bivamwo ukwankana+ n’Imana, kuko umubiri utayobokera+ itegeko ry’Imana, eka mbere ntibinashoboka. 8 Nuko rero abahuza n’umubiri+ ntibashobora gushimisha Imana.
9 Ariko mwebwe ntimuhuza n’umubiri, ahubwo muhuza n’impwemu+, nimba impwemu y’Imana iba vy’ukuri muri mwebwe+. Mugabo nimba umuntu adafise impwemu ya Kristu+, uyo si uwiwe. 10 Mugabo nimba Kristu yunze ubumwe namwe+, umubiri koko warapfuye kubera igicumuro, mugabo impwemu ni ubuzima+ kubera ubugororotsi. 11 Nimba rero impwemu y’umwe yazura Yezu mu bapfuye iba muri mwebwe, uwazuye Kristu Yezu mu bapfuye+ azotuma kandi ya mibiri yanyu ipfa iba mizima+ biciye ku mpwemu yiwe iba muri mwebwe.
12 Nuko rero, bene wacu, turiko ibwirizwa, atari ku bijanye n’umubiri kugira ngo tubeho twisunga umubiri+; 13 kuko nimba mubaho mwisunga umubiri, nta nkeka muzopfa+; mugabo nimba ingeso z’umubiri muzicisha+ impwemu, muzobaho. 14 Kuko abo bose bayoborwa n’impwemu y’Imana, abo ni bo bana b’Imana+. 15 Kuko mutaronse impwemu y’ubushumba yongera guteza ubwoba+, ahubwo mwaronse impwemu+ y’ukugirwa abana+, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: “Abba+, Data!” 16 Impwemu+ ubwayo irashinga intahe+ hamwe n’impwemu yacu+ yuko turi abana b’Imana+. 17 Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa: ba samuragwa koko b’Imana, mugabo tukaba abaraganwa+ na Kristu, dukire gusa kubabarana+ na we kugira ngo kandi tuninahazanywe na we+.
18 Ku bw’ivyo rero mbona yuko imibabaro+ yo muri iki kiringo ata co ivuze igereranijwe n’ubuninahazwa+ bugiye guhishurwa muri twebwe. 19 Kuko ivyaremwe+ vyiteze bibishashaye+ ihishurwa ry’abana b’Imana+. 20 Kuko ivyaremwe vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi+, atari ku kugomba kwavyo bwite mugabo biciye ku wabitanze, hishimikijwe icizigiro+ 21 c’uko ivyaremwe+ na vyo bizogirwa ivyidegemvya+ bikava mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana. 22 Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu. 23 Si ivyo gusa, ahubwo na twebwe ubwacu abafise umushuzo+ ari yo mpwemu, egome, twebwe ubwacu turaniha+ imbere muri twebwe, mu gihe turindiranye igishika ukugirwa abana+, ukubohorwa biciye ku ncungu tukava mu mibiri yacu. 24 Kuko twakijijwe muri ico cizigiro+; mugabo icizigiro umuntu abona si icizigiro, kuko iyo umuntu abona ikintu, none yocizigira? 25 Mugabo nimba twizigira+ ico tutabona+, tuguma tukirindiriye twihanganye+.
26 N’impwemu+ na yo irahaseruka ngo ifashe mu bugoyagoye bwacu+; kuko ingorane ari uko tutakizi ico dukwiye gusaba Imana iyo tubikeneye+, mugabo impwemu+ ubwayo iratakamba ku bwacu mu miniho itavuzwe. 27 Yamara umwe asesangura imitima+ arazi ico impwemu+ ishaka kuvuga, kuko itakamba ihuza n’Imana ku bw’aberanda+.
28 Ariko turazi yuko Imana ituma ibikorwa vyayo vyose+ bisenyera ku mugozi umwe ku neza y’abakunda Imana, bakaba ari abahamagawe hisunzwe intumbero yayo+; 29 kuko abo yitwararitse ubwa mbere+ yabageneye kandi imbere y’igihe+ gushushanywa+ n’ishusho+ y’Umwana wayo, kugira ngo abe imfura+ muri bene wabo benshi+. 30 Vyongeye, abo yagenye imbere y’igihe+ ni na bo yahamagaye+; kandi abo yahamagaye ni na bo yise abagororotsi+. Amaherezo abo yise abagororotsi ni na bo yaninahaje+.
31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+? 32 Iyitazigurije n’Umwana wayo bwite+ mugabo ikamutanga ku bwacu twese+, izobuzwa n’iki kandi kuduhana na we ibindi bintu vyose n’umutima ukunze+? 33 Ni nde azorega abatowe n’Imana+? Imana ni Yo ibita abagororotsi+. 34 Ni nde azobatsindisha? Kristu Yezu ni we yapfuye, egome, nako ni we yazuwe mu bapfuye, akaba ari iburyo+ bw’Imana, ari na we kandi atakamba ku bwacu+.
35 Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristu+? Mbega ni amakuba, canke amarushwa, canke uruhamo, canke inzara, canke ukugenda gusa, canke akaga, canke inkota+? 36 Nk’uko vyanditswe ngo: “Twirirwa turicwa duhorwa wewe, tubonwa nk’intama zo gukererwa+.” 37 Ahubwo riho, muri ivyo vyose turatahukana intsinzi+ bimwe bishitse biciye ku wadukunze. 38 Kuko najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima+, canke abamarayika+, canke intwaro+, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha+, 39 canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu+.
9 Ndiko mvuga ukuri+ muri Kristu; sindiko ndabesha+, kuko ijwi ryo mu mutima ryanje rishinga intahe hamwe nanje mu mpwemu nyeranda, 2 yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udatezura mu mutima wanje+. 3 Kuko nopfuma jewe ubwanje mba igicibwa kuri Kristu nkaba nk’ikivume ku bavukanyi banje+, incuti zanje hisunzwe umubiri+, 4 abo, uko bari ukwo, bakaba ari Abisirayeli+, bene ukugirwa abana+ na bene ubuninahazwa+ n’amasezerano+ na bene guhabwa Itegeko+ n’igikorwa ceranda+ be n’imihango+; 5 ni bo bafise ba sogokuruza+, ari na bo Kristu yakomotsemwo ku mubiri+: Imana+, iyiri hejuru ya vyose, ihezagirwe ibihe vyose. Amen.
6 Ariko si nk’aho ijambo ry’Imana ryananiwe+. Kuko abakomoka kuri Isirayeli bose atari bo “Isirayeli” vy’ukuri+. 7 Eka mbere bose si abana ngo ni uko ari uruvyaro* rwa Aburahamu+, ahubwo vyanditswe ngo: “Ikizokwitwa ‘uruvyaro rwawe’ kizoboneka biciye kuri Izahaki+.” 8 Ni ukuvuga ko abana b’umubiri+ atari bo bana b’Imana vy’ukuri+, ahubwo abana b’umuhango+ ni bo baharurwa nk’uruvyaro. 9 Kuko ijambo ry’umuhango ryavuga uku: “Nk’aya mango nzoza, kandi Sara azoronka umuhungu+.” 10 Yamara si ico gihe conyene, mugabo n’igihe Rebeka yasama inda y’amahasa+ kuri wa mugabo umwe, ari we Izahaki sogokuruza wacu: 11 kuko igihe batari bwavuke canke ngo bakore ikintu na kimwe ciza canke c’agahomerabunwa+, kugira ngo intumbero y’Imana ku bijanye n’itorwa ryabo igume itavana n’ibikorwa, ahubwo igume ivana n’Umwe ahamagara+, 12 Rebeka yabwiwe ati: “Bukuru azoba umushumba wa Butoyi+.” 13 Nk’uko vyanditswe ngo: “Nakunze Yakobo, mugabo Esawu naramwanse+.”
14 Tuvuge iki none? Mbega Imana irarenganya+? Ntibikabe! 15 Kuko ibwira Musa iti: “Nzogirira imbabazi uwo nshatse kugirira imbabazi, kandi nzogirira impuhwe uwo nshatse kugirira impuhwe+.” 16 Nuko rero, ntibiva ku wushaka canke ku wiruka, ahubwo biva ku Mana+, ari yo igira imbabazi+. 17 Kuko Icanditswe kibwira Farawo giti: “Iki nyene ni co catumye nkureka: ni ukugira ngo nerekanire kuri wewe ububasha bwanje, no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.” 18 Nuko rero, uwo ishaka iramugirira imbabazi+, mugabo uwo ishaka iramureka agacika intabarirwa+.
19 Wombwira rero uti: “Ni kubera iki ibandanya gutora amahinyu? Kuko ni nde ahangara ukugomba kwayo gutomoye+?” 20 Ewe muntu+, uri nde none ngo wishure nabi Imana+? Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye ngo: “Kubera iki wambumvye gutya+?” 21 Ngw’iki? Mbega umubumvyi+ ntafise ububasha kw’ibumba bwo gukora mu kibumbe kimwe c’ibumba icombo gikoreshwa ibiteye iteka, n’ikindi gikoreshwa ibiteye isoni+? 22 Nimba rero Imana, naho igomba kwerekana uburake bwayo no kumenyekanisha ububasha bwayo yarihanganiye n’ukwiyumanganya kwinshi ivyombo vy’uburake vyagizwe ibibereye gutikizwa+ 23 kugira ngo imenyekanishe ubutunzi+ bw’ubuninahazwa bwayo ku vyombo+ vy’imbabazi, ivyo yateguye imbere y’igihe ku bw’ubuninahazwa+, 24 ni ukuvuga twebwe, abo yahamagaye atari mu Bayuda gusa ariko no mu mahanga+, bitwaye iki? 25 Ni nk’uko ibivuga kandi muri Hoseya iti: “Abatari abantu banje+ nzobita ‘abantu banje,’ n’umugore atakundwa ndamwite ‘umukundwa+’; 26 kandi ahantu babwiriwe ngo: ‘Ntimuri abantu banje,’ ni ho bazokwitirwa ‘abana b’Imana nzima+.’”
27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+. 28 Kuko Yehova azogira ico abaza kw’isi, abisozere kandi abitebutse+.” 29 Kandi, nk’uko Yesaya yari yarabivuze kera ati: “Iyo Yehova nyen’ingabo*+ atadusigira uruvyaro, tuba twaracitse nka Sodomu, kandi tuba twaragizwe nka Gomora+.”
30 Tuvuge iki none? Yuko abanyamahanga, naho badakurikirana ubugororotsi, bahambije ubugororotsi+, bwa bugororotsi buva ku kwizera+; 31 mugabo yuko Isirayeli, naho ikurikirana itegeko ry’ubugororotsi, itashikiriye iryo tegeko+. 32 Kubera iki? Kubera itarikurikiranye biciye mu kwizera, mugabo nk’aho vyaciye mu bikorwa+. Batsitaye kuri rya “buye ritsitaza+”; 33 nk’uko vyanditswe ngo: “Ehe ndiko nshira i Siyoni ibuye+ ritsitaza n’igitandara kigwisha+, mugabo uwushingira ukwizera kwiwe kuri ryo ntazoteterwa+.”
10 Bavukanyi, ico umutima wanje ushima be n’ico ntakambira Imana ku bwabo, mu vy’ukuri ni ukugira ngo bakizwe+. 2 Kuko ndabashingira intahe yuko bafitiye Imana umwete+; mugabo si mu bumenyi butagira amakosa+; 3 kuko, kubera ko batari bazi ubugororotsi bw’Imana+ mugabo bakarondera kwishingira ubwabo bwite+, ntibayobotse ubugororotsi bw’Imana+. 4 Kuko Kristu ari we herezo ry’Itegeko+, kugira ngo umuntu wese yizera agire ubugororotsi+.
5 Kuko Musa yandika yuko umuntu ashikije ubugororotsi bwo mw’Itegeko azobeshwaho na bwo+. 6 Mugabo ubugororotsi buva ku kwizera buvuga gutya: “Ntuvuge mu mutima wawe+ ngo: ‘Ni nde azoduga mw’ijuru+?’, ni ukuvuga, kugira amanukane Kristu+; 7 canke ngo: ‘Ni nde azomanuka mu nyenga+?’, ni ukuvuga, kugira adugane Kristu amukuye mu bapfuye+.” 8 Mugabo buvuga iki? Bugira buti: “Ijambo riri hafi yawe, mu kanwa kawe no mu mutima wawe+”; ni ukuvuga, “ijambo+” ry’ukwizera, iryo turiko turamamaza+. 9 Kuko niwatura icese iryo ‘jambo mu kanwa kawe bwite+,’ yuko Yezu ari Umukama+, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye+, uzokizwa+. 10 Kuko umutima+ ari wo umuntu yizeresha kugira ngo aronke ubugororotsi, mugabo akanwa kakaba ari ko yaturisha icese+ kugira ngo aronke ubukiriro.
11 Kuko Icanditswe kivuga giti: “Nta n’umwe ashingira+ ukwizera kwiwe kuri we azoteterwa+.” 12 Kuko ata tandukaniro ririho hagati y’Umuyuda n’Umugiriki+, kuko hari Umukama umwe kuri bose, atunze+ ku bw’abo bose bamwambaza. 13 Kuko “umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa+.” 14 Ariko none, bazokwambaza gute uwo batizeye+? Kandi bazokwizera gute uwo batumvise ivyiwe? Kandi bazokwumva gute ata wamamaza+? 15 Kandi bazokwamamaza gute batatumwe+? Nk’uko vyanditswe ngo: “Ewe kuntu biteye igomwe ibirenge vy’abamenyesha inkuru nziza y’ivyiza+!”
16 Yamara rero, si bose bagamburutse inkuru nziza+. Kuko Yesaya avuga ati: “Yehova, ni nde yizeye ico yatwumvanye+?” 17 Ukwizera rero kuva ku co umuntu yumvise+. Ico umuntu yumvise na co kizanwa n’ijambo ryerekeye Kristu+. 18 Yamara rero ndabaza nti: Mbega ntibumvise? Erega nkako, “ijwi ryavyo ryagiye mw’isi yose+, kandi amajambo yavyo yashitse ku mpera z’isi+.” 19 Yamara rero ndabaza nti: Mbega Abisirayeli ntibamenye+? Ubwa mbere Musa avuga ati: “Nzobatera ishari biciye ku kitari ihanga; nzobatera ishavu rikaze biciye kw’ihanga ry’imburabwenge+.” 20 Mugabo Yesaya aratinyuka cane akavuga ati: “Naronketse ku batariko bandondera+; nabonetse ku batariko babaza ivyanje+.” 21 Mugabo ku bijanye na Isirayeli avuga ati: “Niriwe nsanziye amaboko abantu b’abagambarazi+ mvuga bakavuga+.”
11 Ndabaza rero nti: Mbega Imana yarataye abantu bayo+? Ntibikabe! Kuko na jewe ndi Umwisirayeli+, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini+. 2 Imana ntiyataye abantu bayo, abo yamenye ubwa mbere+. Burya, ntimuzi ico Icanditswe kivuga ku bijanye na Eliya igihe yatakambira Imana arega Isirayeli+? Avuga ati: 3 “Yehova, bishe abahanuzi bawe, basambuye ibicaniro* vyawe, none ni jewe jenyene nsigaye, bakaba bariko barondera ubuzima bwanje+.” 4 Yamara, ijambo ry’Imana+ rimubwira ngw’iki? “Nisigarije abagabo ibihumbi indwi, abagabo batapfukamiye Bayali+.” 5 Muri ubwo buryo rero, no muri iki kiringo harabonetse amasigarira+ nk’uko yatowe+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye. 6 Nimba rero biva ku buntu ata wari abukwiriye+, ntibikivuye ku bikorwa+; ahandiho, ubuntu ata wari abukwiriye ntibwoba bukibaye ubuntu ata wari abukwiriye+.
7 Tuvuge iki none? Ikintu nyene Isirayeli iriko ironderana ubwira ntiyakironse+, mugabo abatowe+ barakironse. Abasigaye barakomantajwe imitima+; 8 nk’uko vyanditswe ngo: “Imana yabahaye impwemu y’itiro rirerire+, ibaha amaso kugira ntibabone, n’amatwi kugira ntibumve, gushika n’uyu musi+.” 9 Vyongeye, Dawidi avuga ati: “Imeza yabo nibabere umushibuka n’umutego n’igitsitaza n’agahembo+; 10 amaso yabo nacure umwiza kugira ngo ntibabone, kandi wame ubahetamitse umugongo+.”
11 Ndabaza rero nti: Mbega baratsitaye ku buryo baguye+ rwose? Ntibikabe! Mugabo mu gutirimuka+ kwabo harimwo ubukiriro ku banyamahanga+, kugira ngo baterwe ishari+. 12 Nimba rero ugutirimuka kwabo gusobanura ubutunzi kw’isi, ukugabanuka kwabo na kwo kugasobanura ubutunzi ku banyamahanga+, hari akantu igitigiri+ cuzuye cabo!
13 Ubu na ho ndabwira mwebwe abanyamahanga. Kubera ko mu vy’ukuri ndi intumwa+ ku mahanga+, ndaninahaza+ ubusuku bwanje+, 14 nimba hari ukuntu noshobora gutera ishari ab’umubiri wanje bwite ngakiza+ bamwe muri bo+. 15 Kuko nimba ugutabwa kwabo+ kuzanira isi ugusubiza hamwe n’Imana+, none ukwakirwa kwabo kuzozana iki atari ukugirwa bazima mu bapfuye? 16 Bitayeko, nimba igice gifatwa nk’umushuzo+ ari ceranda, n’ikibumbe c’ibumba ni ukwo; kandi nimba umuzi ari mweranda+, n’amashami ni ukwo.
17 Ariko nimba amwe mu mashami yarahanyuwe mugabo wewe, naho uri umwelayo w’umunyeshamba, ukomekwa hagati muri yo+ hanyuma mugasangira umuzi unuze+ w’umwelayo+, 18 ntiwirate kuri ayo mashami. Mugabo nimba uyiratako+, si wewe ufashe umuzi+, ahubwo umuzi ni wo ugufashe+. 19 Wovuga rero uti: “Amashami yarahanyuwe+ kugira nomekweko+.” 20 Ni vyiza! Kubera ukutizera+ kwabo barahanyuwe, mugabo wewe uhagaze ubihawe n’ukwizera+. Reka kugira ivyiyumviro vyo kwishira hejuru+, ahubwo tinya+. 21 Kuko nimba Imana itazigurije amashami y’akame, na wewe ntizokuziguriza+. 22 Raba rero ubuntu+ n’ubuhambazi+ vy’Imana. Ku baguye ni ubuhambazi+, mugabo kuri wewe ni ubuntu bw’Imana, ukire gusa kuguma+ mu buntu bwayo; ahandiho, na wewe uzocacurwa+. 23 Na bo nyene, nibataguma mu kutizera kwabo, bazokwomekwako+; kuko Imana ishoboye kwongera kubomekako. 24 Kuko nimba wewe waciwe ku giti c’umwelayo gisanzwe ari ikinyeshamba hanyuma ukomekwa+ ku giti c’umwelayo co mu murima uko bidasanzwe bigirwa, none amashami y’akame ntazorushiriza riho kwomekwa ku giti c’umwelayo cayo bwite+!
25 Kuko ntashaka, bene wacu, ko mutamenya iri banga ryeranda+, kugira ngo ntimube ab’ubwenge mu maso yanyu bwite: yuko ugukomantaza umutima+ kwashikiye Isirayeli, ariko atari yose, gushika igitigiri cuzuye+ c’abanyamahanga cinjiye+, 26 kandi muri ubwo buryo Isirayeli+ yose izokizwa. Nk’uko vyanditswe ngo: “Umurokozi azova i Siyoni+ akure kuri Yakobo imigenzo yo kutibanga Imana+. 27 Kandi iri ni ryo sezerano hagati yanje na bo+, ninakuraho ibicumuro vyabo+.” 28 Ego ni ko, ku bijanye n’inkuru nziza ni abansi ku bwanyu+, mugabo ku bijanye n’ugutora kw’Imana ni abakundwa ku bwa ba sogokuruza babo+. 29 Kuko ingabirano be n’ihamagara ry’Imana atari ibintu izokwicuza+. 30 Kuko nk’uko mwagambararira+ Imana kera mugabo ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi+ kubera ubugambarazi bwabo+, 31 ni ko n’abo nyene ubu babaye abagambarazi bituma mwebwe mugirirwa imbabazi+, kugira ngo na bo ubwabo ubu bagirirwe imbabazi. 32 Kuko Imana yabugaraniye bose mu bugambarazi+, kugira ngo ibagirire imbabazi bose+.
33 Ewe bwimbike bw’ubutunzi+ n’ubukerebutsi+ n’ubumenyi+ vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika+ be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora! 34 Kuko “ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova+, canke ni nde yabaye umujanama wiwe+?” 35 Canke, “Ni nde yabanje kumuha, kugira ngo bibe ngombwa ko avyishurwa+?” 36 Kubera ko vyose biriho bivuye kuri we, bigizwe na we, no ku bwiwe+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ibihe vyose+. Amen.
12 Ku bw’ivyo rero ndabinginga, bene wacu, ku bw’impuhwe z’Imana, ngo mushikirize imibiri+ yanyu nk’ikimazi+ kizima+, ceranda+, cemerwa ku Mana+, igikorwa ceranda+ kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira+. 2 Kandi mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe*+, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha+, kugira mwiyemeze neza+ ukugomba+ kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.
3 Kuko biciye ku buntu ata wari abukwiriye nahawe, mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira+; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye+, umwe wese nk’uko urugero+ rw’ukwizera+ Imana yamuhaye ruri. 4 Kuko nk’uko dufise mu mubiri umwe ibihimba vyinshi+, mugabo nya bihimba bikaba vyose bidakora igikorwa kimwe, 5 ni ko na twebwe, naho turi benshi, turi umubiri umwe+ mu bumwe na Kristu, mugabo umwe wese akaba igihimba ca mugenziwe+. 6 Ko rero dufise ingabirano zitandukanye+ nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye+ twahawe buri, bwaba ubuhanuzi, tuvuge ubuhanuzi nk’uko ukwizera twahawe kuri; 7 canke ubusuku, twijukire ubwo busuku+; canke uwigisha+, yijukire ukwigisha kwiwe+; 8 canke uwuhimiriza, yijukire uguhimiriza kwiwe+; uwugabura, abikore ata kwitangira+; uwuhagarikira+, abigirane ubwira nyabwo; uwugira imbabazi+, abigirane akamwemwe.
9 Urukundo+ rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi+. Muzinukwe ikibi+, mwumire ku ciza+. 10 Mu vy’urukundo rwa kivukanyi+ mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka+ mube aba mbere. 11 Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu+. Mururumbe impwemu+. Mushumbire Yehova+. 12 Munezerwe mu cizigiro+. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+. 13 Musangire n’aberanda nk’uko ivyo bakeneye biri+. Mukurikire inzira y’ubwakiranyi+. 14 Mugume muhezagira ababahama+; muhezagire+, ntimuvume+. 15 Munezeranwe n’abanezerewe+; murirane n’abarira. 16 Mwiyumvire ivy’abandi nk’uko mwiyumvira ivyanyu+; ntimwiyumvire ibintu bihanitse+, ahubwo murongorwe n’ibintu biciye bugufi+. Ntimube abanyabwenge mu maso yanyu bwite+.
17 Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi+. Mukore ivyiza mu maso y’abantu bose. 18 Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro+ n’abantu bose. 19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.” 20 Mugabo, “nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa+; kuko niwagira ivyo uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe+.” 21 Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza+.
13 Umuntu wese nayobokere+ abakuru bari hejuru+, kuko ata bukuru+ buriho bitavuye ku Mana+; abakuru bahari bashizwe n’Imana+ mu bibanza vyabo bigereranye+. 2 Uwurwanya ubukuru rero aba arwanije indinganizo y’Imana; ababurwanije bazoronka urubanza rwabo+. 3 Kuko abaganza ari abo gutinywa, atari ku wukora igikorwa ciza ahubwo ku wukora ikibi+. Ushaka none kudatinya ubukuru? Guma ukora iciza+, na bwo buzogushimagiza; 4 kuko ari umusuku w’Imana kuri wewe ku neza yawe+. Mugabo nimba ukora ikibi+, tinya: kuko budatwarira inkota ubusa; kuko ari umusuku w’Imana, umuhozi+ wo gushitsa uburake ku wuza arakora ikibi.
5 Hariho rero imvo ituma biba ngombwa ko muyoboka, atari gusa kubera ubwo burake, mugabo kandi kubera ijwi ryo mu mutima ryanyu+. 6 Kuko ari co gituma kandi muriha amakori; kuko ari abakozi b’Imana bakorera abantu+, bama bakora ku bw’iyo ntumbero nyene. 7 Muhe bose ivyabo, uwusaba ikori, mumuhe ikori+; uwusaba ikibuguro, mumuhe ikibuguro; uwusaba gutinywa, mumutinye+; uwusaba iteka, mumuhe iryo teka+.
8 Ntihagire uwo mugirira umwenda w’ikintu na kimwe+, atari ugukundana+; kuko uwukunda mugenziwe aba ashikije itegeko+. 9 Kuko ya mategeko ngo: “Ntukarenge ibigo+, Ntukice+, Ntukibe+, Ntukagire umwina+,” hamwe n’irindi bwirizwa iryo ari ryo ryose rihari, apoperanirijwe muri iri jambo, ari ryo: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.” 10 Urukundo+ ntirukorera ikibi umugenzi+; urukundo rero ni ryo ranguka ry’itegeko+.
11 Ivyo mubikore kandi kubera muzi iki kiringo, yuko isaha y’uko mwikangura+ mukava mw’itiro imaze kugera, kuko ubu ubukiriro bwacu buri hafi kuruta igihe twacika abemera+. 12 Ijoro rigeze kure; bugira buce+. Twiyambure rero ibikorwa vy’umwiza+ maze twambare ibirwanisho+ vy’umuco. 13 Nko ku murango, tugende mu buryo bubereye+, atari mu kwidagadura no kunywera akaborerwe+, atari mu guhuza ibitsina kutemewe no mu bushirasoni*+, atari mu gushihana+ no kugira ishari. 14 Mugabo mwambare Umukama Yezu Kristu+, kandi ntimutegekanye guhaza ivyipfuzo vy’umubiri+.
14 Muhe ikaze umuntu afise ubugoyagoye+ mu kwizera kwiwe, mugabo atari kugira ngo mufate ingingo ku vyo yibaza imbere muri we+. 2 Umuntu umwe aragira ukwizera gutuma arya vyose+, mugabo umuntu agoyagoya arya ibisoromano. 3 Uwurya ntagaye uwutarya+, kandi uwutarya ntacire urubanza uwurya, kuko uwo Imana yamuhaye ikaze. 4 Uri nde ngo ucire urubanza umukozi wo mu nzu w’uwundi+? Imbere ya shebuja wiwe bwite ni ho ahagarara canke agatemba+. Kandi azohagarara, kuko Yehova ashobora kumuhagarika+.
5 Umuntu umwe abona umusi umwe nk’uwuruta uwundi+; uwundi abona umusi umwe nk’iyindi yose+; umuntu wese najijuke rwose mu muzirikanyi wiwe bwite. 6 Uwubahiriza umusi awubahiriza ku bwa Yehova. Kandi uwurya, arya ku bwa Yehova+, kuko akengurukira Imana+; kandi uwutarya areka kurya ku bwa Yehova+, yamara agakengurukira Imana+. 7 Nkako, nta n’umwe muri twebwe abaho ku bwiwe gusa+, kandi nta n’umwe apfa ku bwiwe gusa; 8 kuko nimba tubaho, tubaho ku bwa Yehova+, kandi nimba dupfa, dupfa ku bwa Yehova+. Nimba rero tubaho canke nimba dupfa, turi aba Yehova+. 9 Kuko ico ari co Kristu yapfiriye akongera akabera muzima+, kugira ngo abe Umukama ku bapfuye+ n’abazima+.
10 Mugabo kubera iki ucira urubanza mwene wanyu+? Canke kubera iki kandi ugaya mwene wanyu? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza+ y’Imana; 11 kuko vyanditswe ngo: “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Yehova avuga+, ‘ivi ryose rizompfukamira, kandi ururimi rwose ruzokwemanga Imana icese+.’” 12 Nuko rero, umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe+.
13 Ntitube rero tugiciranira urubanza+, ahubwo riho iyi ibe ari yo ngingo mufata+: kudashira imbere y’umuvukanyi+ igitsitaza+ canke igitirimutsa. 14 Ndazi kandi naranyuzwe mu Mukama Yezu yuko ata kintu gihumanye ubwaco+; iyo gusa umuntu yiyumvira ko ikintu gihumanye, kuri we kiba gihumanye+. 15 Kuko nimba mwene wanyu atuntuye kubera ibifungurwa, ntuba ukigendera mu rukundo+. Ntuhonye uwo Kristu yapfiriye, biciye ku bifungurwa vyawe+. 16 Ntimureke rero ngo muvugwe nabi ku ciza mukora. 17 Kuko ubwami bw’Imana+ budasobanura kurya no kunywa+, ahubwo busobanura ubugororotsi+ n’amahoro+ n’akanyamuneza+ hamwe n’impwemu nyeranda. 18 Kuko uwushumbira Kristu muri ivyo yemerwa ku Mana kandi agashimwa n’abantu+.
19 Nuko rero, dukurikirane ibiremesha amahoro+ be n’ivyubaka abandi+. 20 Reka gusambura igikorwa c’Imana kubera ibifungurwa gusa+. Ego ni ko, ibintu vyose birahumanuye, mugabo ni bibi ku muntu gufungura bikaba intandaro y’ugutsitara+. 21 Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikintu na kimwe gitsitaza mwene wanyu+. 22 Ukwizera ufise, nukwigumanire ubwawe imbere y’Imana+. Hahiriwe umuntu atikwegera urubanza bivuye ku vyo ashima. 23 Mugabo nimba akekeranya, aba amaze gutsindwa n’urubanza iyo afunguye+, kuko atarya bivuye ku kwizera. Nkako, ikintu cose kitavuye ku kwizera kiba ari igicumuro+.
15 Mugabo, twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye+, ntitwishimishe ubwacu+. 2 Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza kugira ngo yubakwe+. 3 Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe+; mugabo nk’uko vyanditswe: “Ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe+.” 4 Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe+ kugira bitwigishe+, kugira ngo biciye ku kwihangana+ kwacu no ku ruhoza+ ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro+. 5 Ya Mana rero itanga ukwihangana n’uruhoza ibahe kugira hagati yanyu wa mutima+ nyene Kristu Yezu yari afise, 6 kugira ngo muhuje inama+ muninahaze n’akanwa kamwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu.
7 Muhane ikaze rero+, nk’uko na Kristu yaduhaye ikaze+, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana. 8 Kuko mvuga yuko Kristu mu vy’ukuri yacitse umusuku+ w’abagenyerewe+ ku bw’ukuri kw’Imana+, kugira ngo yemeze imihango+ Imana yahaye ba sekuruza babo, 9 no kugira ngo amahanga+ aninahaze Imana kubera imbabazi zayo+. Nk’uko vyanditswe ngo: “Ni co gituma wewe nzokwemanga icese mu mahanga, kandi nzohibongoreza izina ryawe+.” 10 Irongera ikavuga iti: “Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+.” 11 Vyongeye kandi iti: “Shemeze Yehova, mwa mahanga mwese, kandi ibisata vy’abantu vyose nibimushemeze+.” 12 Yesaya arongera akavuga kandi ati: “Hazoba umuzi wa Yese+, kandi hazoba uwuhaguruka ngo aganze amahanga+; kuri we ni ho amahanga azoshingira icizigiro cayo+.” 13 Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu, kugira ngo mugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda+.
14 Na jewe ubwanje rero naranyuzwe ku biberekeye, bavukanyi banje, yuko na mwebwe ubwanyu mwuzuye ukumera neza, kuko mwujujwe ubumenyi bwose+, be n’uko mushobora no gukeburana+. 15 Ariko ndabandikiye ndushiriza kutarya umunwa ku bintu bimwebimwe, nk’aho nongeye kubibutsa+, kubera ubuntu ata wari abukwiriye nahawe buvuye ku Mana+ 16 kugira ngo mbe umukozi akorera abantu wa Kristu Yezu ku mahanga+, akora igikorwa ceranda c’inkuru nziza+ y’Imana, kugira ngo ishikanwa+, ni ukuvuga, ayo mahanga, riboneke ko ryemerwa+, ryejejwe biciye ku mpwemu nyeranda+.
17 Ndafise rero imvo yo kwigina muri Kristu Yezu+ ku bintu vyerekeye Imana+. 18 Kuko ntohirahira ngo mvuge ikintu na kimwe nimba atari ico mu vyo Kristu yakoreye muri jewe+ kugira ngo amahanga agamburuke+ biciye kw’ijambo+ ryanje no ku gikorwa canje, 19 hamwe n’ububasha bw’ibimenyetso n’ibitangaza+, hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda; ku buryo kuva i Yeruzalemu no kuzunguruka+ gushika muri Iliriya namamaje bimwe binogangije inkuru nziza yerekeye Kristu+. 20 Muri ubwo buryo koko, nihaye intumbero yo kutamenyesha inkuru nziza aho Kristu yari amaze kuvugwa, kugira ngo sinsange ndiko nubakira ku mushinge w’uwundi muntu+; 21 mugabo, nk’uko vyanditswe: “Abatamenyeshejwe ikintu na kimwe ku bimwerekeye bazobona, kandi abatumvise bazotegera+.”
22 Ni na co catumye ngira ikintangira kenshi kimbuza gushika iwanyu+. 23 Mugabo ubu ko ata cibare ngifise kitarakorwa muri izi ntara, kandi nkaba maze imyaka mikeyi ncambirwa gushika iwanyu+ 24 igihe nzoba ngiye muri Esupanye+, nizigiye imbere ya vyose yuko igihe nzoba ndi ku nzira ngiyeyo, nzoca kubaraba hanyuma mukamperekezayo+ gatoyi, mbanje kwumva yuko inkumbu ndabafitiye ziheze ku rugero kanaka. 25 Mugabo ubu ngira nje i Yeruzalemu gukorera aberanda+. 26 Kuko ab’i Makedoniya n’i Akaya+ bahimbawe no gusangira ivyabo n’abandi mu gutanga imfashanyo+ y’aboro bo mu beranda i Yeruzalemu. 27 Ego ni ko, barahimbawe no kubigira, yamara bari babafitiye umwenda; kuko nimba amahanga yararonse ku bintu vy’impwemu vyabo+, na yo nyene abwirizwa kubakorera ku mugaragaro akoresheje ibintu bifasha umubiri w’inyama+. 28 Ku bw’ivyo rero ninarangiza ivyo nkongera nkabashikiriza ico camwa+ ata nkomanzi, nzoja muri Esupanye nciye iwanyu+. 29 Vyongeye, ndazi yuko ninaza iwanyu nzoza mfise ingero yuzuye y’umuhezagiro uva kuri Kristu+.
30 Ndabahimiriza rero, bene wacu, biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu no ku rukundo rw’impwemu+, ngo mwihate hamwe nanje mu masengesho aturwa Imana ku bwanje+, 31 ngo ndokorwe+ mu gukizwa abatemera i Yudaya no kugira ngo ubusuku bwanje ndangurira Yeruzalemu+ bwemerwe n’aberanda+, 32 kugira ngo ninashika iwanyu ndi n’akanyamuneza kava ku kugomba kw’Imana, numve ko nduhuriwe+ kumwe namwe. 33 Ya Mana itanga amahoro ibane namwe mwese+. Amen.
16 Ndashimagije kuri mwebwe mushiki wacu Foyibe, umusuku+ w’ishengero riri i Kenkireya+, 2 kugira ngo mumuhe ikaze+ mu Mukama mu buryo bubereye aberanda, no kugira ngo mumusahirize mu kintu cose yobakenerako+, kuko na we ubwiwe yerekanye ko arwanira benshi, egome, na jewe ubwanje.
3 Mundamukirize Pirisika na Akwila+ abakozi bagenzanje+ muri Kristu Yezu, 4 abemeye guhakwa gucibwa amazosi+ yabo bwite kubera ubuzima bwanje, kandi si jewe gusa ndabakengurukira, mugabo n’amashengero yose yo mu mahanga+; 5 kandi muramutse ishengero riri mu nzu yabo+. Muramutse umukundwa wanje Epeneto, umushuzo+ wo muri Aziya ku bwa Kristu. 6 Muramutse Mariya, uwabize akuya cane ku bwanyu. 7 Muramutse Andoroniko na Yuniya incuti+ zanje n’imbohe bagenzanje+, abantu bamenyekana mu ntumwa kandi bamaze igihe kirekire kundusha bunze ubumwe+ na Kristu.
8 Mundamukirize+ Ampuliyato umukundwa wanje mu Mukama. 9 Muramutse Urubano umukozi mugenzi wacu muri Kristu, n’umukundwa wanje Sitaku. 10 Muramutse+ Apele, uwushimwa muri Kristu. Muramutse abo mu rugo rwa Arisitobulo. 11 Muramutse Herodiyoni incuti yanje+. Muramutse abo mu rugo rwa Narasisi bari mu Mukama+. 12 Muramutse Tirifena na Tirifoza, abagore bakora cane mu Mukama. Muramutse Perusi umukundwa wacu, kuko yabize akuya cane mu Mukama. 13 Muramutse Rufo uwatowe mu Mukama, be na nyina wiwe akaba na mawe. 14 Muramutse Asinkirito, Filegoni, Herume, Patiroba, Heruma, na bene wacu bari kumwe na bo. 15 Muramutse Filologo na Yuliya, Nereya na mushikiwe, na Olimpa, be n’aberanda bose bari kumwe na bo+. 16 Muramukanishe ugusomana kweranda+. Amashengero yose ya Kristu arabaramutsa.
17 Ndabahimiriza rero, bene wacu, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri+ n’ibitsitaza mu buryo buteye kubiri n’inyigisho+ mwize, mubazibukire+. 18 Kuko abantu mwene abo atari abashumba b’Umukama wacu Kristu, ahubwo ni ab’inda zabo bwite+; kandi bakoresha akarimi gasosa+ n’amajambo yo gushimagiza+ bakaryosharyosha imitima y’abantu b’inziraburyarya. 19 Kuko ubugamburutsi bwanyu bwamenyekanye kuri bose+. Ndanezerwa rero kubera mwebwe. Mugabo nshaka yuko muba inkerebutsi+ ku bijanye n’iciza, mugabo mukaba intungane+ ku bijanye n’ikibi+. 20 Nayo ya Mana itanga amahoro+, vuba izofyonyora Shetani+ munsi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu bubane namwe+.
21 Timoteyo umukozi mugenzanje arabaramutsa, na Lusiyo na Yasoni na Sosipatero incuti zanje+.
22 Jewe, Teritiyo, uwanditse iri kete, ndabaramutsa mu Mukama.
23 Gayo+, uwumpaye indaro akayiha n’ishengero ryose, arabaramutsa. Erasito umubwiriza w’igisagara+ arabaramutsa, na Kwaruto mwene wabo. 24* ——
25 Imwe+ rero ishoboye kubashikamisha hisunzwe inkuru nziza menyesha be n’iyamamazwa rya Yezu Kristu, nk’uko ihishurwa rya rya banga ryeranda+ ryagumijwe mu gacerere igihe kirekire cane riri, 26 mugabo ubu rikaba ryarahishuwe+ ryongera riramenyekanishwa mu mahanga yose biciye ku vyanditswe vy’ubuhanuzi hisunzwe itegeko rya ya Mana yamaho, kugira ngo haremeshwe ubugamburutsi buvuye ku kwizera+; 27 Imana, imwe y’inkerebutsi yonyene+, ubuninahazwa+ bube ubwayo biciye kuri Yezu Kristu+ ibihe vyose. Amen.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “igikorwa kimwe kigororotse.”
Raba Rm 4:13, akajambo k’epfo.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Ivk 8:37, akajambo k’epfo.