ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Ivyakozwe 1:1-28:31
  • Ivyakozwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyakozwe
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Ivyakozwe

Ivyakozwe n’intumwa

1 Inkuru ya mbere, ewe Tewofile+, nayitunganije ku bintu vyose Yezu yatanguye gukora no kwigisha+, 2 gushika ku musi yaduzwa+, inyuma y’aho amariye guha amabwirizwa intumwa yatoye, akayabaha biciye ku mpwemu nyeranda+. 3 Abo na bo nyene, biciye ku bimenyamenya vyinshi bifadika, yarabiyeretse ari muzima inyuma y’aho amariye kubabazwa+, abonwa na bo mu misi mirongo ine yongera avuga ivyerekeye ubwami bw’Imana+. 4 Igihe yari kumwe na bo, abaha aya mategeko, ati: “Ntimuve i Yeruzalemu+, ahubwo mugume murindiriye ico Data yasezeranye+, ico mwanyumvanye; 5 kubera ko mu vy’ukuri Yohani yabatirisha amazi, mugabo mwebwe mukazobatizwa mu mpwemu nyeranda+ mu misi mikeyi iri imbere.”

6 Igihe rero bari bakoraniye hamwe, batangura kumubaza bati: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami+ Isirayeli?” 7 Ababwira ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke ibiringo+ Data yashize mu bubasha bwiwe bwite+; 8 mugabo muzoronka ububasha+ impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona+ i Yeruzalemu+ n’i Yudaya hose n’i Samariya+, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi+.” 9 Amaze kuvuga ivyo, bakiriko bararaba, araduzwa+ hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona+. 10 Bagihanze amaso mw’ijuru akiriko aragenda+, baja babona abagabo babiri bambaye impuzu zera+ bahagaze iruhande yabo, 11 bavuga bati: “Bagabo b’i Galilaya, kubera iki muhagaze muraba mw’ijuru? Uyo Yezu akuwe muri mwebwe akakirwa hejuru mw’ijuru, azoza ukwo nyene+, nk’uko mumubonye aja mw’ijuru.”

12 Maze basubira+ i Yeruzalemu bavuye ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo, uri hafi y’i Yeruzalemu, hakaba hari nk’urugendo rwo ku musi w’isabato+. 13 Nuko binjiye, baduga mu cumba co hejuru+, aho bari bacumbitse, ari Petero hamwe na Yohani na Yakobo na Andereya, Filipo na Toma, Barutelemi na Matayo, Yakobo mwene Alufayo na Simoni umunyamwete, na Yuda mwene Yakobo+. 14 Abo bose bariko bakovya mu gusenga+ bahuje inama, bari kumwe n’abagore bamwe+, na Mariya nyina wa Yezu na bene wabo+.

15 Nuko muri iyo misi Petero arahaguruka hagati ya bene wabo, (nya sinzi ryose hamwe ryari rigizwe n’abantu nk’ijana na mirongo ibiri) avuga ati: 16 “Bagabo bene wacu, vyari bikenewe ko icanditswe kiranguka+, ico impwemu nyeranda+ yavuze imbere y’igihe biciye mu kanwa ka Dawidi ku vyerekeye Yuda+ umwe yabera indongozi abafashe Yezu+, 17 kubera ko yari yaharuwe muri twebwe+ kandi akaronka uruhara muri ubu busuku+. 18 (Uwo nyene rero, yaguze+ itongo impembo y’ibitagororotse+, hanyuma agwa atanguje umutwe+, aturikira hagati na hagati, amara yiwe yose arandara. 19 Vyaramenyekanye no ku baba i Yeruzalemu bose, ku buryo iryo tongo ryiswe mu rurimi rwabo ngo: Akeludama, ni ukuvuga Itongo ry’Amaraso.) 20 Kuko vyanditswe mu gitabu c’Amazaburi, ngo: ‘Uburaro bwiwe nibucike umusaka, kandi ntihagire uwububamwo+,’ kandi ngo: ‘Ibanga ryiwe ry’ubucungezi niritwarwe n’uwundi+.’ 21 Birakenewe rero yuko mu bagabo bamye bakoranira hamwe natwe mu gihe cose Umukama Yezu yashishikara ibikorwa vyiwe muri twebwe+, 22 kuva igihe yabatizwa na Yohani+ gushika ku musi yakirwa mw’ijuru avuye muri twebwe+, umwe muri abo bagabo acika icabona hamwe natwe c’izuka ryiwe+.”

23 Nuko bashikiriza babiri, Yozefu uwitwa Barusaba yatazirwa Yusito, na Matiyasi. 24 Maze barasenga bati: “Ewe Yehova, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye, 25 ngo afate ikibanza c’ubu busuku n’ibanga ry’ukuba intumwa+, ivyo Yuda yataye ngo yigire ahantu hiwe bwite.” 26 Nuko babagirako ubupfindo+, nya bupfindo bugwa kuri Matiyasi; araheza aharuranwa na za ntumwa cumi n’imwe+.

2 Igihe rero umusi mukuru wa Pentekoti*+ wariko urabandanya, bari hamwe bose muri ca kibanza nyene, 2 maze bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura nya nzu yose bari bicayemwo+. 3 Maze babona indimi zimeze nk’iz’umuriro+ hanyuma zirigabagura, rumwerumwe ruja kuri umwe wese muri bo, 4 bose buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi+ nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga.

5 Ico gihe i Yeruzalemu haba Abayuda+, abagabo batinya Imana+, bo mu mahanga yose yo mu yari munsi y’ijuru. 6 Nuko, aho iryo jwi ryumvikaniye, nya bantu indiri bakoranira hamwe, bagwa mu gahundwe, kubera ko umwe wese yabumva bavuga mu rurimi rwiwe bwite. 7 Barajongoroka koko, baratangara, bavuga bati: “Ehe yemwe, none aba bose bariko baravuga si Abanyagalilaya+? 8 Yamara none, bishoboka gute ngo tube turiko turumva, umwe wese muri twebwe, ururimi rwiwe bwite yavukiyemwo? 9 Abapariti n’Abamedi+ n’Abelamu+, n’ababa muri Mezopotamiya, n’i Yudaya+ n’i Kapadosi+, i Ponto+ no mu ntara ya Aziya+, 10 n’i Firijiya+ n’i Pamfiliya+, mu Misiri no mu mihingo ya Libiya ahagana i Sireni, n’abacumbitse ino b’i Roma, Abayuda n’abinjiye idini ry’Abayuda+, 11 Abanyakirete+ n’Abarabu+, tubumva bavuga mu ndimi zacu ivyerekeye ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” 12 Emwe, bose barajongoroka, barazazanirwa, babwirana bati: “Ibi bishaka kuvuga iki?” 13 Ariko abandi barabatwenga, batangura kuvuga bati: “Buzuye umuvinyu usosa+.”

14 Mugabo Petero ahagurukana na bamwe cumi n’umwe+ hanyuma ashira ijwi hejuru, ababwira iri jambo ati: “Bagabo b’i Yudaya namwe mwese ababa i Yeruzalemu+, nimumenye ibi kandi mutege ugutwi amajambo yanje. 15 Mu vy’ukuri aba bantu ntibaborewe+ nk’uko muvyibaza, kuko ari kw’isaha igira gatatu y’umusi. 16 Ahubwo riho, ibi ni vyo vyavuzwe biciye ku muhanuzi Yoweli, 17 ngo: ‘“Kandi mu misi ya nyuma,” ni ko Imana ivuga, “nzosuka igice c’impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, n’abatama banyu bazorota indoto+; 18 mbere nzosuka no ku bashumba banje be no ku bashumbakazi banje igice c’impwemu yanje muri iyo misi, na bo bazovuga ubuhanuzi+. 19 Kandi nzotanga ibitangaza mw’ijuru hejuru n’ibimenyetso kw’isi hasi, amaraso n’umuriro n’igipfungu c’umwotsi+; 20 izuba+ rizohinduka umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’uko wa musi uhambaye kandi w’agatangaza wa Yehova ushika+. 21 Kandi umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa+.”’

22 “Bagabo ba Isirayeli, nimwumve aya majambo: Yezu Umunyanazareti+, umugabo Imana yaberetse icese biciye ku bikorwa vy’ububasha+ n’ibitangaza n’ibimenyetso Imana yakoreye hagati yanyu+ biciye kuri we, nk’uko mwebwe ubwanyu mubizi, 23 uyo muntu, nk’uwatanzwe n’inama yashinzwe be n’ukumenya imbere y’igihe kw’Imana+, mwaramukomereye ku giti biciye ku kuboko kw’abantu b’abagarariji, muramwica+. 24 Mugabo Imana yaramuzuye+ mu kumubohora mu mibabaro y’urupfu+, kuko bitashoboka ko rubandanya kumugumya+. 25 Kuko Dawidi avuga ibimwerekeye ati: ‘Yehova nantaryo yaguma imbere y’amaso yanje; kuko ari iburyo bwanje ngo sinigere nyiganyizwa+. 26 Ku bw’ivyo umutima wanje wagize akamwemwe, n’ururimi rwanje ruranezerwa cane. Vyongeye, mbere n’umubiri wanje uzobaho mu cizigiro+; 27 kubera ko utazompebera mu kuzimu, canke ngo wemere ko intahemuka yawe ibona ukubora+. 28 Wamenyesheje inzira z’ubuzima, uzonyuzurisha urweze mu maso hawe+.’

29 “Bagabo, bene wacu, nta kimbuza kubabwirana umwidegemvyo wo kuvuga ku vyerekeye wa mukuru w’umuryango Dawidi, yuko yahwereye+ agahambwa, n’imva yiwe ikaba iri muri twebwe gushika n’uno musi. 30 Nuko rero, kubera ko yari umuhanuzi akaba kandi yari azi yuko Imana yari yaramurahiye indahiro yuko yokwicaritse ku ntebe yiwe y’ubwami uwo mu mafyinga yiwe+, 31 yabonye imbere y’igihe ivyerekeye izuka rya Kristu yongera aravuga ivyaryo, yuko atahebewe mu kuzimu canke ngo umubiri wiwe ubone ukubora+. 32 Uyo Yezu Imana yaramuzuye, kandi twese turi ivyabona vy’ico kintu+. 33 Nuko rero, kubera ko yashizwe hejuru iburyo bw’Imana+ kandi akaronka ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe ayihawe na Se+, asutse iki mubona kandi mwumva. 34 Mu vy’ukuri Dawidi ntiyaduze mw’ijuru+, mugabo ubwiwe avuga ati: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje+, 35 gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”’ 36 Nuko rero inzu ya Isirayeli yose nimenye ata gukeka yuko Imana yamugize Umukama+ na Kristu, uwo Yezu mwebwe mwamanitse+.”

37 Aho bumviye ivyo, basogotwa mu mitima+, babwira Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo, bene wacu, tugire dute+?” 38 Petero ababwira ati: “Nimwigaye+, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe+ mw’izina+ rya Yezu Kristu ku bwo kubabarirwa+ ibicumuro vyanyu, muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa+ y’impwemu nyeranda. 39 Kuko umuhango+ ari uwanyu n’abana banyu be n’abari kure bose+, abo Yehova Imana yacu ashobora guhamagara bose ngo baze kuri we+.” 40 Kandi akoresheje ayandi majambo menshi, yarashinze intahe inogangije yongera aguma abahimiriza, ati: “Nimwikize iri yaruka rihetaraye+.” 41 Nuko rero, abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa+, kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako+. 42 Kandi babandanya kwihebera inyigisho y’intumwa no gusangira vyose+, kwihereza imfungurwa+ no gusenga+.

43 Emwe, ubwoba butangura gutekera abantu bose, hatangura no kuba ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi, biciye ku ntumwa+. 44 Ababaye abemera bose bari kumwe, bakaba kandi bari basangiye vyose+, 45 kandi baragurisha amatongo yabo+ n’ivyo batunze, bakagaburira bose ibivuyemwo, nk’uko umuntu wese yaba akeneye+. 46 Kandi imisi yose bama ku rusengero bahuje inama+, bagafungurira ibifungurwa vyabo mu mazu yabo, bakihereza imfungurwa banezerewe cane+ kandi bari n’umutima utarimwo uburyarya, 47 bashemeza Imana kandi bakagira ubutoni ku bantu bose+. Ico gihe nyene ku musi ku musi Yehova yaguma abongerako+ abaza barakizwa+.

3 Ico gihe Petero na Yohani bariko baduga baja mu rusengero ku bw’isaha y’ugusenga, isaha y’icenda+, 2 hanyuma umugabo umwe yacumbagira kuva akiva mu nda ya nyina+ yari ateruwe, kandi imisi yose bamushira hafi y’umuryango w’urusengero witwa Mwiza+, kugira ngo asabe imfashanyo* abinjira mu rusengero+. 3 Akubise ijisho Petero na Yohani bagira binjire mu rusengero, atangura gusaba ngo bamufashe+. 4 Mugabo Petero, ari kumwe na Yohani, amuhanga amaso+, avuga ati: “Nuturabe.” 5 Nuko abahanga amaso, yiteze kubaronkako ikintu. 6 Ariko Petero avuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, mugabo ico mfise ni co nguha+: Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti+, tambuka+!” 7 Aca amufata ukuboko kw’ukuryo+, aramuhagurutsa. Ako kanya nyene ibirenge vyiwe n’amaso y’ibirenge vyiwe birakomera+; 8 aca arasimba+, arahaguruka atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero+, agendagenda yongera asimbagurika, ashemeza Imana. 9 Maze abantu bose+ baramubona agendagenda yongera ashemeza Imana. 10 Vyongeye, baramumenya, yuko ari umwe yahora yicara asaba imfashanyo kw’Irembo Ryiza+ ry’urusengero, barajongoroka, barikugura+ kubera ivyari vyamubayeko.

11 Erega, wa mugabo akigumije Petero na Yohani, abantu bose birukira icarimwe kuri bo ahitwa ibaraza rya Salomo+, bakubiswe n’inkuba. 12 Petero ngo abibone, abwira abantu ati: “Bagabo ba Isirayeli, kubera iki mutangazwa n’ivyo, canke kubera iki muduhanga amaso nk’aho umenga twatumye atambuka biciye ku bubasha bwacu bwite canke ku kwihebera Imana kwacu+? 13 Imana ya Aburahamu n’iya Izahaki n’iya Yakobo+, ya Mana ya ba sogokuruza bacu, yaninahaje+ Umusavyi+ wayo Yezu, uwo mwebwe mwatanze+ mukamwihakanira imbere ya Pilato, mu gihe yari yafashe ingingo yo kumurekura+. 14 Egome, mwarihakanye uwo mweranda akaba n’umugororotsi+, maze musaba umugabo, umwicanyi+, ngo bamubahe ku buntu, 15 ya Mboneza y’ubuzima na we muramwica+. Mugabo Imana yaramuzuye mu bapfuye, tukaba turi ivyabona vy’ico kintu+. 16 Ku bw’ivyo rero izina ryiwe, biciye ku kwizera dufise mw’izina ryiwe, ni ryo ritumye uyo mugabo akomera, uwo mubona kandi muzi, kandi ukwizera kuboneka biciye kuri we ni kwo gutumye uyo mugabo akira neza mu maso yanyu mwese. 17 None rero, bene wacu, ndazi yuko mwakoze ibintu mu kutamenya+, nk’uko n’abatware banyu+ bakoze. 18 Mugabo muri ubwo buryo Imana yarashikije ivyo yamenyesheje imbere y’igihe biciye mu kanwa k’abahanuzi bose, yuko Kristu wayo yobabajwe+.

19 “Nimwigaye+ rero, muhindukire+ kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa+ bibone kuza bivuye imbere ya Yehova 20 no kugira ngo atume Kristu yagenywe ku bwanyu, ari we Yezu, 21 uwo ijuru mu vy’ukuri ritegerezwa kugumya+ muri ryo gushika ku bihe vy’ugusubizwaho+ kw’ibintu vyose, ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abahanuzi beranda bayo+ bo mu gihe ca kera. 22 Nkako, Musa yavuze ati: ‘Yehova Imana azobahagurukiriza muri bene wanyu umuhanuzi ameze nkanje+. Mutegerezwa kumwumviriza mu vyo ababwira vyose+. 23 Kukaba nkako, umuntu wese atazokwumviriza uwo Muhanuzi azorandurwa mu bantu+.’ 24 Kandi nkako, abahanuzi bose kuva kuri Samweli be n’abakurikiye, abavuze bose, na bo nyene baramenyesheje batomora ivy’iyi misi+. 25 Mwebwe muri abana+ b’abahanuzi be n’ab’isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ikabwira Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro* rwawe ni ho imiryango yose yo kw’isi izohezagirirwa+.’ 26 Ni mwebwe Imana yabanje+ gutumako Umusavyi wayo, imaze kumuhagurutsa, kugira ibahezagire mu gukebanura umwe wese muri mwebwe agaheba ibikorwa vyiwe vy’ububisha.”

4 Igihe rero abo babiri bariko barabwira ijambo abantu, abakuru b’abaherezi n’umukuru w’abarinzi b’urusengero+ be n’Abasadukayo*+ baza kuri bo, 2 bababajwe n’uko bariko bigisha abantu bongera bamenyesha batomora ivy’ukuzuka mu bapfuye ku bijanye na Yezu+. 3 Baca babashorerako amaboko, babashira aho bacungirwa gushika bukeye+, kuko bwari bumaze kugoroba. 4 Ariko benshi mu bari bumvirije iryo jambo baremera+, igitigiri c’abagabo gicika nk’ibihumbi bitanu+.

5 Bukeye, i Yeruzalemu haba ikoraniro ry’abatware babo n’abagabo b’inararibonye be n’abanditsi+ 6 (na Anasi+ umukuru w’abaherezi na Kayifa+ na Yohani na Alegizandere n’abantu bose bo mu muryango w’umukuru w’abaherezi), 7 baraheza babahagarika hagati yabo, batangura kubabaza bati: “Ni ku bubasha ki canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo+?” 8 Maze Petero, yuzuye impwemu nyeranda+, ababwira ati:

“Batware b’abantu namwe bagabo b’inararibonye, 9 nimba uno musi turiko turasambishwa, kubera igikorwa ciza gikorewe umuntu arwaye+, ku vyerekeye uwatumye uwu muntu akira, 10 nimumenye mwebwe mwese hamwe n’abantu ba Isirayeli bose, yuko mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti+, uwo mwebwe mwamanitse+ mugabo Imana ikamuzura mu bapfuye+, biciye kuri uyo ari ho uyu muntu ahagaze hano imbere yanyu akomeye. 11 Uyo ni we ‘buye mwebwe abubatsi mwafashe nk’ubusa ryabaye umutwe w’imfuruka+.’ 12 Ikigeretseko, nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina+ munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo+.”

13 Aho baboneye ukutarya umunwa kwa Petero na Yohani, bagatahura yuko ari abantu batize kandi basanzwe+, baratangara. Baca bamenya yuko bahoranye na Yezu+. 14 Bakiraba uwo muntu yari yakijijwe ahagararanye na bo+, ntibagira ico basubizayo+. 15 Nuko babategeka gusohoka bakava mu ngoro y’Inama Nkuru*, batangura kubazanya, 16 bati: “Mbega aba bantu tubagire dute+? Kuko mu vy’ukuri habaye ikimenyetso c’akataraboneka biciye kuri bo, ikimenyetso cibonekeje ku baba i Yeruzalemu+; kandi ntidushobora kubihakana. 17 Yamara rero, kugira ngo ntibibandanye gukwiragira hose mu bantu, reka tubabwize iterabwoba kutongera kubwira ikintu umuntu n’umwe bishimikije iryo zina+.”

18 Kuri ivyo barabahamagara, babategeka kutagira ahantu na hamwe bavuga canke ngo bigishe bishimikije izina rya Yezu. 19 Mugabo Petero na Yohani babishura bati: “Nimba ari ibigororotse imbere y’Imana kubumviriza aho kwumviriza Imana, nimuruce namwe. 20 Mugabo tweho, ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise+.” 21 Nuko bamaze kwongera kubatera ubwoba, barabarekura, kubera bataronse imvo n’imwe yo kubahana no kubera abantu+, kuko bose bariko baninahaza Imana ku vyari vyabaye; 22 kuko umuntu ico kimenyetso c’ugukiza cari cabayeko yari afise imyaka irenga mirongo ine.

23 Bamaze kurekurwa baja kuri bagenzi babo+, babiganira ibintu vyose abakuru b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye bari bababwiye. 24 Aho bavyumviye, bashira amajwi yabo hejuru babwira Imana bahuje inama+, bati:

“Mukama Segaba+, ni wewe wakoze ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo+, 25 akaba ari na wewe biciye ku mpwemu nyeranda wavugiye mu kanwa ka sogokuruza wacu Dawidi+, umusavyi wawe, uti: ‘Kubera iki amahanga yagiye mu ruhagarara, n’ibisata bikazirikana ibintu ata co bimaze+? 26 Abami b’isi bahagaze, n’abatware bakoraniye hamwe nk’umuntu umwe ngo barwanye Yehova n’uwo yarobanuje amavuta*+.’ 27 Nkako, Herodi na Ponsiyo Pilato+ hamwe n’abantu bo mu mahanga be n’ibisata vya Isirayeli mu vy’ukuri barakoraniye hamwe muri iki gisagara ngo barwanye Yezu umusavyi wawe mweranda+, uwo warobanuje amavuta+, 28 kugira ngo bakore ibintu vyose ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragenye imbere y’igihe ko bizoba+. 29 None rero, Yehova, raba iterabwoba ryabo+, uhe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose+, 30 mu gihe uramvura ukuboko kwawe ngo ukize no mu gihe ibimenyetso n’ibitangaza+ bishika biciye mw’izina+ ry’umusavyi wawe mweranda+ Yezu.”

31 Bamaze gutakamba, ahantu bari bakoraniye haranyiganyiga+; maze bose uko bangana buzuzwa impwemu nyeranda+, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi+.

32 Vyongeye, abantu indiri bari bemeye bari bahuje umutima n’inama+, kandi nta n’umwe yavuga yuko hari ico mu vyo atunze cari rwiwe; mugabo bari basangiye vyose+. 33 Vyongeye, intumwa zibandanya gushinga intahe n’ububasha bukomeye, ku vyerekeye izuka ry’Umukama Yezu+; kandi ubuntu ata wari abukwiriye bwari kuri bo bose ari bwinshi. 34 Nkako, nta n’umwe muri bo yari mu mukeno+; kuko abari bafise amatongo canke amazu bose babigurisha bakazana ibiguzi vy’ibintu bagurishije 35 bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa+. Vyaraheza bikagabanganirizwa+ umwe wese, nk’uko yaba akeneye. 36 Nuko Yozefu, uwo intumwa zatazira Barunaba+, rikaba risobanura ngo: Umwana w’Uruhoza, akaba yari Umulewi, imvukira y’i Shipure, 37 yari afise itongo, ararigurisha hanyuma azana nya mahera ayashira imbere y’ibirenge vy’intumwa+.

5 Ariko umugabo umwe yitwa Ananiya, ari kumwe na Safira umugore wiwe, agurisha itongo 2 maze agumya mu mpisho igice c’ikiguzi, n’umugore wiwe akaba yari abizi, araheza azana igice gusa agishira imbere y’ibirenge vy’intumwa+. 3 Mugabo Petero avuga ati: “Ananiya, kubera iki Shetani+ yagutinyuye ukarondera guhenda+ impwemu nyeranda+ no kugumya mu mpisho igice c’ikiguzi c’itongo? 4 Igihe utari bwarigurishe, mbega ntiryari rwawe, kandi rimaze kugurishwa, ntiryagumye mu minwe yawe? Kubera iki wagize umugambi wo gukora igikorwa nk’ico mu mutima wawe? Ntiwarondeye guhenda+ abantu, ahubwo warondeye guhenda Imana+.” 5 Ananiya yumvise ayo majambo aca agwa hasi, aracikana+. Maze ubwoba bwinshi+ butekera abavyumvise bose. 6 Mugabo abasore barahaguruka, bamutekera mu bitambara+, baramujana, baramuhamba.

7 Buno haciye umwanya w’amasaha nk’atatu umugore wiwe arinjira, atazi ivyari vyabaye. 8 Petero amubwira ati: “Mbwira, mbega mwebwe uko muri babiri, aya ni yo mwagurishije itongo?” Avuga ati: “Ego ni ayo.” 9 Nuko Petero amubwira ati: “Kubera iki mwebwe uko muri babiri mwumvikanye kugeza+ impwemu ya Yehova? Ehe ibirenge vy’abahamvye umugabo wawe biri ku muryango, kandi barakujana.” 10 Ako kanya nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe, aracikana+. Aho ba basore binjiriye, basanga yapfuye, baca baramujana bamuhamba hambavu y’umugabo wiwe. 11 Ubwoba bwinshi buca butekera ishengero ryose n’abumvise ivyo bintu bose.

12 Vyongeye, biciye ku maboko y’intumwa ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyinshi bibandanya kuba mu bantu+; kandi bose bari mw’ibaraza rya Salomo bahuje inama+. 13 Vy’ukuri, mu bandi nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo+; yamara rero, abantu barabahayagiza+. 14 Ikigeretseko, abemera Umukama baguma bongerwako, abagabo n’abagore indiri+; 15 ku buryo bazana abarwaye no mu mayira yagutse bakabashira ng’aho ku dutanda dutoduto no ku nderuzo, kugira ngo Petero ahaciye, n’imiburiburi igitutu ciwe hagire uwo kigwako muri bo+. 16 Vyongeye, abantu indiri bavuye mu micungararo ya Yeruzalemu baguma baza bakoranira hamwe, bateruye abarwaye be n’abadurumbanywa n’impwemu zihumanye, kandi bose uko bangana barakira.

17 Mugabo umuherezi mukuru n’abari kumwe na we bose, umuce w’idini w’Abasadukayo wari uhari ico gihe, barahaguruka, buzura ishari+, 18 bashorera amaboko ku ntumwa, babashira aho bacungirwa mu kibanza ca bose+. 19 Mugabo mw’ijoro umumarayika wa Yehova+ yugurura imiryango y’ibohero+, arabasohora, avuga ati: 20 “Nimugende, muhagarare mu rusengero, hanyuma mugume mubwira abantu amajambo yose yerekeye ubu buzima+.” 21 Bamaze kwumva ivyo, binjira mu rusengero mu mutwenzi, batangura kwigisha.

Maze umuherezi mukuru n’abari kumwe na we bashitse, bakoranya Inama Nkuru n’ikoraniro ryose ry’abagabo b’inararibonye bo muri bene Isirayeli+, batuma kw’ibohero ngo babazane. 22 Mugabo aho abapolisi bashikiyeyo, ntibabasanga mw’ibohero. Nuko baragaruka barabivuga, 23 bati: “Ibohero twasanze ryugaye riri mu mutekano ntangere, n’abarinzi bahagaze ku miryango, mugabo aho twugururiye nta n’umwe twasanzeyo.” 24 Erega, aho umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi bumviye ayo majambo, barazazanirwa n’ivyo bintu ku bijanye n’ico bizovamwo+. 25 Mugabo umuntu umwe arashika abiganira ati: “Murazi! Ba bagabo mwashira mw’ibohero bari mu rusengero; bahagaze ng’aho bigisha abantu+.” 26 Maze umukuru w’abarinzi ajana n’abapolisi biwe, arabazana, mugabo ata kubagirira nabi, kuko batinya+ ko abantu babatera amabuye.

27 Nuko barabazana, babahagarika mu ngoro y’Inama Nkuru. Umuherezi mukuru arababaza 28 ati: “Twarabihanikirije+ kutaguma mwigisha mwishimikije iryo zina, yamara ehe mwujuje Yeruzalemu inyigisho yanyu+, kandi mwiyemeje kuturemeka amaraso+ y’uwo muntu.” 29 Petero n’izindi ntumwa bishura bati: “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu+. 30 Imana ya ba sogokuruza bacu yarazuye+ Yezu, uwo mwebwe mwishe mumumanitse ku giti+. 31 Uyo Imana yaramushize hejuru iburyo bwayo+ aba Imboneza+ n’Umukiza+, kugira ngo Isirayeli ihabwe ukwigaya+ n’ukubabarirwa ibicumuro+. 32 Kandi turi ivyabona vy’ivyo bintu+, n’impwemu nyeranda ni ukwo+, iyo Imana yahaye abayigamburukira nka yo mutware.”

33 Aho bumviye ivyo, bumva birabasogose mu mutima baca bashaka kubica+. 34 Mugabo umuntu umwe arahaguruka mu Nama Nkuru, akaba yari Umufarizayo* yitwa Gamaliyeli+, umwigisha w’Itegeko yubahwa n’abantu bose, ategeka ko basohora abo bantu akanya gatoyi+. 35 Araheza ababwira ati: “Bagabo ba Isirayeli+, mwiyubare ku vyo mugomba kugirira aba bantu. 36 Nk’akarorero, imbere y’iyi misi Teyuda yarahagurutse, avuga ko we ubwiwe yari agakomeye+, abagabo batari bake, abashika nk’amajana ane, baja mu mugambwe wiwe+. Mugabo yarishwe, abamugamburukira bose na bo barashwiragira, bacika ubusa. 37 Mu nyuma ziwe, Yuda Umunyagalilaya yarahagurutse mu misi ya kwa kwandikwa+, akwegera abantu inyuma yiwe. Yamara uyo mugabo yarapfuye, abamugamburukira bose na bo barashwiragira. 38 None rero, muri ibi bintu, ndabibabwiye: Ntimwisuke mu vy’aba bantu, ahubwo nimubareke (kuko nimba uyu mugambi canke iki gikorwa ari ibiva ku bantu, bizosenyuka+; 39 mugabo nimba ari ibiva ku Mana+, ntimuzoshobora kubisenyura+); ahandiho, hari aho mwosanga muriko vy’ukuri murwanya Imana+.” 40 Kuri ivyo baramwumvira, baca barengutsa intumwa, barazitonagura+, bazitegeka kureka kuvuga zishimikije izina rya Yezu+, hanyuma barazireka ziragenda.

41 Abo rero baragenda bava imbere y’Inama Nkuru, banezerewe+ kubera ko bari babonywe ko babereye guteterezwa ku bw’iryo zina+. 42 Kandi imisi yose mu rusengero n’inzu ku nzu+, babandanya kwigisha+ no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu ari we Yezu+, badatezura.

6 Muri iyo misi, igihe abigishwa bariko barongerekana, havyuka imyidodombo mu Bayuda bavuga ikigiriki+, bidodombera Abayuda bavuga igiheburayo, kubera ko abapfakazi babo bariko birengagizwa mw’igaburwa ryo ku musi ku musi+. 2 Nuko bamwe cumi na babiri bahamagara nya bigishwa indiri, bavuga bati: “Ntibihimbaye ko tureka ijambo ry’Imana ngo tuje mu vyo kugabura ibifungurwa ku meza+. 3 Nuko rero, bene wacu, nimwironderere+ abagabo indwi bashingirwa intahe nziza bo muri mwebwe, buzuye impwemu n’ubukerebutsi+, kugira ngo tubashinge iki gikorwa ca nkenerwa; 4 mugabo twebwe tuzokwihebera ugusenga n’ubusuku bwerekeye ijambo ry’Imana+.” 5 Iryo jambo rihimbara nya bantu indiri bose, baraheza batora Sitefano umugabo yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda+, na Filipo+ na Purokoro na Nikanori na Timoni na Parumena na Nikola uwinjiye idini ry’Abayuda w’i Antiyokiya; 6 babashira imbere y’intumwa, na zo zimaze gusenga, zibarambikako ibiganza+.

7 Ijambo ry’Imana ribandanya rero gukura+, igitigiri c’abigishwa na co kiguma kigwira cane i Yeruzalemu+; kandi isinzi rinini ry’abaherezi+ ritangura kugamburuka+ ukwizera.

8 Nuko Sitefano, yuzuye igikundiro n’ububasha, yariko akora ibitangaza n’ibimenyetso+ bikomeye mu bantu. 9 Mugabo hahaguruka abantu bamwe bo mw’isinagogi yitwa Isinagogi y’Imbohorwe, n’abo mu Banyasireni no mu Banyalegizandiriya+ no mu b’i Silisiya+ no muri Aziya, ngo baharire na Sitefano; 10 yamara ntibashobora guhangana n’ubukerebutsi+ be n’impwemu yavugana+. 11 Maze bosha abagabo mu mpisho kuvuga+ bati: “Twamwumvise avuga amajambo y’amarogotano+ kuri Musa no ku Mana.” 12 Baca bagumura abantu be n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi, maze baramwubira, baramucakira, bamushira Inama Nkuru+. 13 Nuko bazana ivyabona vy’ikinyoma+, bivuga biti: “Uyu mugabo ntareka gutuka aha hantu heranda no gutuka Itegeko+. 14 Nk’akarorero, twamwumvise avuga yuko uwo Yezu Umunyanazareti azosenyurira hasi aha hantu akongera agahindura imigenzo twaherejwe na Musa.”

15 Maze abicaye bose mu Nama Nkuru bakimuhanze amaso+, babona ko mu maso hiwe hameze nko mu maso h’umumarayika+.

7 Mugabo umuherezi mukuru avuga ati: “Ivyo ni ko biri?” 2 Na we ati: “Bagabo, bene wacu na ba data, nimwumve. Imana y’ubuninahazwa+ yarabonekeye sogokuruza wacu Aburahamu igihe yari i Mezopotamiya, imbere y’uko agerera i Harani+, 3 imubwira iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe uze mu gihugu nzokwereka+.’ 4 Maze ava mu gihugu c’Abakaludaya, agerera i Harani. Se wiwe amaze gupfa+, Imana imukura ng’aho, ituma yimuka ngo agerere muri iki gihugu mubamwo ubu+. 5 Yamara nta tongo ry’intoranwa yamuhaye muri co, oya, habe n’ahangana n’ubwaguke bw’ikirenge+; mugabo yasezeranye kukimuha ngo kimubere inyegu+, kandi hanyuma yiwe gihabwe uruvyaro rwiwe+, kandi ata mwana yari bwagire+. 6 Vyongeye, kuri ivyo Imana yavuze yuko uruvyaro rwiwe rwobaye kavamahanga+ mu gihugu kinyamahanga+ kandi abantu baho bakabagira abaja bakongera bakabateza amarushwa imyaka amajana ane+. 7 ‘Kandi iryo hanga bazoshumbira nzoricira urubanza+,’ ni ko Imana yavuze, ‘kandi mu nyuma bazovayo bankorere igikorwa ceranda aha hantu+.’

8 “Yamuhaye kandi isezerano ry’ukugenyerwa+; nuko avyara Izahaki+ hanyuma aramugenyera ku musi ugira umunani+, Izahaki avyara Yakobo, Yakobo na we avyara ba bakuru b’imiryango cumi na babiri+. 9 Nya bakuru b’imiryango bagirira ishari+ Yozefu, bamugurisha mu Misiri+. Mugabo Imana yari kumwe na we+, 10 hanyuma imurokora mu makuba yiwe yose yongera imuha igikundiro n’ubukerebutsi mu maso ya Farawo umwami wa Misiri. Na we yamushinze kuganza Misiri n’inzu yiwe yose+. 11 Mugabo ikigoyi gitera mu Misiri hose n’i Kanani, emwe, amakuba akomeye; kandi ba sogokuruza bacu ntibaronka ibiribwa+. 12 Mugabo Yakobo yumva ko mu Misiri hari ivyo kurya+, aca atumayo ba sogokuruza bacu ubwa mbere+. 13 Ubwa kabiri Yozefu yimenyesha bene wabo+; ubwoko bwa Yozefu buca buramenyekana kuri Farawo+. 14 Nuko Yozefu atumako Yakobo se wiwe n’incuti ziwe zose ngo bave aho hantu+, bakaba bari abantu mirongo irindwi na batanu+. 15 Yakobo amanuka mu Misiri+. Hanyuma arasandaba+; na ba sogokuruza bacu biba ukwo+, 16 baraheza bimurirwa i Shekemu+ hanyuma baryamikwa mu mva+ Aburahamu yari yaguze amafeza na bene Hamori i Shekemu+.

17 “Igihe kiriko kiregereza c’uko umuhango Imana yari yahaye Aburahamu icese uranguka, nya bantu barongerekana, baragwira mu Misiri+, 18 gushika aho hahagurukiye uwundi mwami aganza Misiri, atari azi ivya Yozefu+. 19 Uyo yakoresheje urwenge rwa politike mu kurwanya ubwoko bwacu+, ahatira ku karenganyo ba se ngo bashire ahabona inzoya zabo, ngo ntizizigamirwe ubuzima+. 20 Muri ico gihe nyene Musa aravuka+, kandi yari mwiza vy’agahebuza imbere y’Imana+. Yonkerezwa amezi atatu mu nzu kwa se. 21 Mugabo igihe yashirwa ahabona, umukobwa wa Farawo yaramutoye aramurera nk’umuhungu wiwe bwite+. 22 Musa rero yigishijwe mu bukerebutsi bwose+ bw’Abanyamisiri. Nkako, yari umunyabubasha mu majambo yiwe+ no mu bikorwa vyiwe.

23 “Igihe rero yariko arakwiza umwaka wiwe ugira mirongo ine, haza iciyumviro mu mutima wiwe co kugendera bene wabo, bene Isirayeli+. 24 Akubise ijisho umuntu umwe yariko ararenganywa, aramuburanira yongera ahōra uwariko aragirirwa nabi, mu kwica nya Munyamisiri+. 25 Yibwira yuko bene wabo botegereye yuko Imana yariko ibaronsa ubukiriro biciye ku kuboko kwiwe+, mugabo ntibabitegera. 26 Maze bukeye abaserukako bariko bararwana, aca agerageza kubasubiza hamwe ngo babe mu mahoro+, avuga ati: ‘Bagabo, muri abavukana. Kubera iki mugiriranira ivy’akarenganyo+?’ 27 Mugabo uwariko ararenganya mugenziwe, amushiburira nka hariya, avuga ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza kuri twebwe+? 28 Mbega ushaka kunyica kumwe wica wa Munyamisiri ejo+?’ 29 Kuri iryo jambo Musa arahunga hanyuma acika kavamahanga mu gihugu ca Midiyani+, aho yavyariye abahungu babiri+.

30 “Imyaka mirongo ine irangiye, abonekerwa n’umumarayika mu gahinga k’umusozi Sinayi mu rubeya rw’umuriro rw’igisaka c’amahwa+. 31 Musa ngo abibone, biramutangaza+. Mugabo akiriko aregera ngo atohoze, humvikana ijwi rya Yehova, rivuga riti: 32 ‘Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu n’iya Izahaki n’iya Yakobo+.’ Musa ahinda agashitsi, ntiyubahuka kubandanya gutohoza. 33 Yehova amubwira ati: ‘Kura inkweto* ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari ubutaka bweranda+. 34 Nabonye vy’ukuri akarenganyo abantu banje bari mu Misiri bagirirwa+, kandi numvise ukuniha kwabo+, nkaba manutse kubarokora+. None rero nuze, ngutume mu Misiri+.’ 35 Uyo Musa, uwo bihakanye bavuga ngo: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza+?’, uyo ni we Imana yatumye+ bwa mutware n’umurokozi biciye ku kuboko kw’umumarayika yamubonekeye muri ca gisaka c’amahwa. 36 Uyo muntu yarabarongoye+ amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu Misiri+ no mu kiyaga Gitukura+ be no mu gahinga, mu myaka mirongo ine+.

37 “Uyo Musa ni we yabwiye bene Isirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza muri bene wanyu umuhanuzi ameze nkanje+.’ 38 Uyo ni we+ yahavuye aba hagati mw’ishengero+ mu gahinga ari kumwe na wa mumarayika+ yavugana na we ku musozi Sinayi, aba kandi kumwe na ba sogokuruza, yongera aronka amajambo meranda mazima+ yo kubaha. 39 Uyo ba sogokuruza bacu baranse kumugamburukira, mugabo bamushiburira ku ruhande+, maze mu mitima yabo bisubirira mu Misiri+, 40 babwira Aroni bati: ‘Duhingurire imana zo kutuja imbere. Kuko uyo Musa, umwe yadukura mu gihugu ca Misiri, tutazi ivyamushikiye+.’ 41 Nuko bakora inyana muri iyo misi+ hanyuma bazanira ikimazi nya kigirwamana, batangura kuryohererwa ibikorwa vy’amaboko yabo+. 42 Nuko Imana irahindukira irabatanga+ ngo bakorere igikorwa ceranda ingabo zo mw’ijuru, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’abahanuzi+, ngo: ‘Mbega ni jewe mwashikaniye imbagwa n’ibimazi mu myaka mirongo ine mu gahinga, ga yewe nzu ya Isirayeli+? 43 Ahubwo ihema rya Moloki+ be n’inyenyeri+ y’imana Refani ni vyo mwatwaye, bikaba ari ibishusho mwakoze ngo mubisenge. Ku bw’ivyo rero nzobambukana+ hirya ya Babiloni.’

44 “Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’intahe mu gahinga, nk’uko yatanze amategeko igihe yariko avugana na Musa ngo arikore yisunze icitegererezo yari yabonye+. 45 Kandi ba sogokuruza bacu barisigaranye, na bo nyene bararizanye bari kumwe na Yosuwa+ baryinjiza mu gihugu cagabwa n’amahanga+, ayo Imana yirukanye imbere ya ba sogokuruza bacu+. Aho ni ho ryagumye gushika mu misi ya Dawidi. 46 Uyo yaragize ubutoni+ imbere y’Imana hanyuma asaba agateka ko kuronderera Imana ya Yakobo aho kuba+. 47 Ariko Salomo ni we yayubakiye inzu+. 48 Yamara rero, Musumbavyose ntaba mu nzu zakozwe n’amaboko+; nk’uko umuhanuzi avuga, 49 ngo: ‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami+, isi na yo ikaba intebe y’ibirenge vyanje+. Ni inzu bwoko ki muzonyubakira?, ni ko Yehova avuga. Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo ni ikihe+? 50 Mbega ukuboko kwanje si kwo kwakoze ibi bintu vyose+?’

51 “Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima+ no mu matwi: mwama murwanya impwemu nyeranda; nk’uko ba sogokuruza banyu bakora, ni ko namwe mukora+. 52 Ni nde mu bahanuzi ba sokuruza banyu batahamye+? Egome, barishe+ abamenyesheje hakiri kare ivyerekeye ukuza kwa wa Mugororotsi+, uwo mwaguze mukongera mukica+, 53 mwebwe abaronse Itegeko nk’uko ryashikirijwe n’abamarayika+ mugabo mukaba mutarigumije.”

54 Erega, ngo bavyumve, bumva birabasogose mu mitima+ baca batangura kumuhekenyera+ amenyo. 55 Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru, abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana+, 56 avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryuguruye+ be n’Umwana w’umuntu+ ahagaze iburyo bw’Imana+.” 57 Baca barasemerera n’ijwi ryabo ryose bongera bashira amaboko yabo ku matwi+, maze bamugurukirako icarimwe. 58 Nuko bamaze kumuta inyuma y’igisagara+, batangura kumutera amabuye+. Ivyabona+ na vyo bishira hasi impuzu zavyo zo hejuru imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli+. 59 Babandanya gutera amabuye Sitefano ariko atakamba ati: “Mukama Yezu, akira impwemu yanje+.” 60 Maze arapfukama, asemerera n’ijwi rikomeye ati: “Yehova, ntubaharureko iki gicumuro+.” Ahejeje kuvuga ivyo aca arasinzira mu rupfu.

8 Nayo Sauli, yari ashigikiye iyicwa ryiwe+.

Kuri uwo musi havyuka uruhamo rukomeye+ kw’ishengero ryari i Yeruzalemu; bose kiretse intumwa barasanzara+ mu ntara za Yudaya na Samariya. 2 Mugabo abagabo batinya Imana bajana Sitefano kumuhamba+, baramuririra cane+. 3 Ariko Sauli atangura gutikiza ishengero. Yitera mu nzu no mu yindi, aburutira hanze abagabo n’abagore, akabatwara mw’ibohero+.

4 Ariko abari basanzajwe, baca mu gihugu bamenyesha inkuru nziza y’ijambo ry’Imana+. 5 Filipo we, amanuka mu gisagara ca Samariya+, atangura kwamamaza Kristu kuri bo. 6 Amasinzi, ahuje inama, yariko aratega yompi ibivugwa na Filipo, bumviriza bongera baraba ibimenyetso yariko arakora. 7 Kuko benshi barimwo impwemu zihumanye+, zino zigasemerera n’ijwi rirenga maze zigasohoka. Vyongeye, abantu benshi bamugaye+ n’abacumbagira barakizwa. 8 Nuko haba akanyamuneza kenshi muri ico gisagara+.

9 Ico gihe muri ico gisagara hariho umugabo umwe yitwa Simoni, imbere yaho akaba yagira ivy’amageza+ akumiza ihanga rya Samariya, akavuga yuko we ubwiwe yari umuntu ahambaye+. 10 Kandi bose, kuva ku muto wo hanyuma y’abandi gushika ku wuhambaye kuruta abandi, baramutega yompi bakavuga bati: “Uyu muntu ni Ububasha bw’Imana, ubushobora kwitwa Ubuhambaye.” 11 Baramutega yompi rero kubera ko yari amaze igihe kitari gito abumiza n’amageza yiwe. 12 Mugabo aho bemereye ivyo Filipo avuga, uno akaba yariko amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana+ be n’iy’izina rya Yezu Kristu, barabatizwa, abagabo n’abagore+. 13 Na Simoni ubwiwe acika uwemera, kandi amaze kubatizwa yamana na Filipo+; kandi yarumizwa no kubona ibimenyetso n’ibikorwa vy’ububasha bikomeye vyaba.

14 Aho intumwa i Yeruzalemu zumviye yuko Samariya yemeye ijambo ry’Imana+, zituma Petero na Yohani kuri bo; 15 bano na bo baramanuka barabasengera ngo baronke impwemu nyeranda+. 16 Kuko muri bo ata we impwemu yari bwazeko, mugabo bari babatijwe gusa mw’izina ry’Umukama Yezu+. 17 Maze babarambikako ibiganza+, hanyuma batangura kuronka impwemu nyeranda.

18 Maze aho Simoni aboneye yuko abo intumwa zirambitseko ibiganza baronka impwemu, agomba kuziha amahera+, 19 avuga ati: “Nimumpe nanje ubwo bubasha, kugira ngo umuntu wese ndambitseko ibiganza aronke impwemu nyeranda.” 20 Mugabo Petero amubwira ati: “Amafeza yawe aragapfana nawe, kubera ko wiyumviriye kuronka ingabirano ya gusa y’Imana biciye ku mahera+. 21 Nta n’akagabane canke agahimba ufise muri ibi bintu, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana+. 22 Niwigaye ubwo bubi bwawe rero, kandi utakambire Yehova+ kugira ngo, nimba bishoboka, ubabarirwe uwo mugambi mubi wo mu mutima wawe; 23 kuko ndabona yuko wewe uri indurwe y’ubumara+ n’imbohe* y’ibitagororotse+.” 24 Simoni yishura ati: “Nimuntakambire kuri Yehova mwebwe+, ntihagire na kimwe mu vyo muvuze kinzako.”

25 Nuko rero, bamaze gushinga intahe bimwe binogangije no kuvuga ijambo rya Yehova, basubira i Yeruzalemu, bamenyesha inkuru nziza ibigwati vyinshi vy’Abasamariya+.

26 Ariko umumarayika wa Yehova+ avugana na Filipo, ati: “Haguruka uje mu bumanuko ku nzira imanuka iva i Yeruzalemu ija i Gaza.” (Iyo ni inzira yo mu bugaragwa.) 27 Kuri ivyo arahaguruka aragenda, maze, ehe inkone*+ y’Umunyetiyopiya+, umuntu w’ububasha yakorera Kanidake umwamikazi w’Abanyetiyopiya, akaba kandi ari we yari ashinzwe itunga ryiwe ryose. Yari yagiye i Yeruzalemu gusenga+, 28 mugabo yari agarutse akaba yari yicaye mu mukogote wiwe, ariko asoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya+. 29 Nuko impwemu nyeranda ibwira+ Filipo iti: “Egera ujane n’uyo mukogote.” 30 Filipo arirukanga hambavu, amwumva asoma ivyanditswe na Yesaya umuhanuzi n’ijwi ryumvikana, avuga ati: “Uratahura vy’ukuri ivyo uriko urasoma?” 31 Na we ati: “Mu vy’ukuri, noshobora gute kubitahura hatagize uwundongōra?” Aca yinginga Filipo ngo yurire yicarane na we. 32 Buno igisomwa c’Icanditswe yariko arasoma n’ijwi ryumvikana cari iki: “Nka kurya kw’intama, ni ko yazanywe mw’ibagiro, kandi nka kurya kw’umwagazi w’intama utavuga imbere y’umukemuzi wawo, ni ko adakurako umunwa+. 33 Mu gihe c’uguteterezwa kwiwe urubanza rubereye yararukuweko+. Ni nde azodonda amamuko yiwe*? Kubera ko ubuzima bwiwe bukuwe kw’isi+.”

34 Nya nkone yishura Filipo iti: “Ndakwinginze umbwire: Ibi umuhanuzi abivuga kuri nde? Kuri we nyene canke ku wundi muntu?” 35 Filipo ateranura akanwa+, ahera kuri ico Canditswe+, amumenyesha inkuru nziza yerekeye Yezu. 36 Bariko baragenda muri iyo nzira, bashikira ikidengeri c’amazi, hanyuma nya nkone ivuga iti: “Ehe ikidengeri c’amazi; ni igiki kimbuza kubatizwa+?” 37* —— 38 Aca ategeka wa mukogote guhagarara, bompi bamanuka mu mazi, Filipo be na nya nkone; araheza arayibatiza. 39 Bamaze kuduga bavuye mu mazi, impwemu ya Yehova itwara Filipo ningoga+, nya nkone na yo ntiyaba ikimubona, kuko yabandanije urugendo inezerewe. 40 Mugabo Filipo aboneka ari i Ashidodi, hanyuma aca muri ako karere aguma amenyesha+ inkuru nziza ibisagara vyose kugeza ashitse i Sezariya+.

9 Mugabo Sauli, agipfuhagira iterabwoba n’ubwicanyi+ ku bigishwa+ b’Umukama, aja ku muherezi mukuru, 2 amusaba amakete ajana ku masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo abo abonye bose bo muri Ya Nzira+ abazane i Yeruzalemu baboshe, abagabo n’abagore.

3 Buno ariko aragenda, yegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru urabiriza giturumbuka hirya no hino yiwe+, 4 agwa hasi maze yumva ijwi rimubwira riti: “Sauli, Sauli, umpamira iki+?” 5 Avuga ati: “Uri nde ga Mukama?” Na we ati: “Ndi Yezu, uwo uriko urahama+. 6 Yamara rero, haguruka+ winjire mu gisagara, ico utegerezwa gukora na co uzokibwirwa.” 7 Ico gihe abagabo bari bafatanije na we urugendo+ bari bahagaze badakurako umunwa+, bakumva koko umusamīro w’ijwi+, mugabo ntihagire umuntu n’umwe babona. 8 Mugabo Sauli ava hasi, kandi naho amaso yiwe yakanura nta kintu na kimwe yabona+. Nuko bamufata ukuboko bamujana i Damasiko. 9 Amara imisi itatu ata kintu na kimwe abona+, atarya canke ngo anywe.

10 I Damasiko hari umwigishwa umwe yitwa Ananiya+, maze Umukama amubwira mw’iyerekwa ati: “Ananiya!” Na we ati: “Ndi hano, Mukama.” 11 Umukama amubwira ati: “Haguruka, ugende kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, hanyuma ku nzu ya Yuda urondere umuntu yitwa Sauli w’i Taruso+. Kuko, ehe ariko arasenga, 12 kandi mw’iyerekwa, yabonye umugabo yitwa Ananiya yinjira akamurambikako ibiganza kugira ahumuke+.” 13 Mugabo Ananiya yishura ati: “Mukama, narumvise kuri benshi ivy’uwo mugabo, ibibi vyose yakoreye aberanda bawe i Yeruzalemu. 14 Kandi ino arafise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi bwo gushira mu mvuto abo bose bambaza izina ryawe+.” 15 Mugabo Umukama amubwira ati: “Genda, kubera ko uwo muntu ari icombo nitoreye+ ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga+ no ku bami+ no kuri bene Isirayeli. 16 Kuko nzomwereka neza ibintu vyose bitegerezwa kumushikira ku bw’izina ryanje+.”

17 Nuko Ananiya aragenda, yinjira muri nya nzu, amurambikako ibiganza, hanyuma avuga ati: “Sauli, mwene wacu, Umukama, umwe Yezu yakubonekera kuri ya nzira wariko urazanana, yantumye, kugira ngo uhumuke wongere wuzuzwe impwemu nyeranda+.” 18 Buno nyene ivyasa n’ibigaragamba birakoroka bivuye ku maso yiwe, aca arahumuka; nuko arahaguruka, arabatizwa, 19 hanyuma arafungura araheza aronka inguvu+.

Amarana imisi n’abigishwa i Damasiko+, 20 buno nyene aca atangura kwamamaza Yezu mu masinagogi+, yuko Uyo ari Umwana w’Imana. 21 Mugabo abamwumva bose barajongoroka bakavuga bati: “Mbega uyo si umwe yayogeza+ ab’i Yeruzalemu bambaza iryo zina, akaba kandi yari yaje ino ari co nyene kimuzanye, kugira abajane baboshe ku bakuru b’abaherezi+?” 22 Mugabo Sauli yaguma arushiriza kuronka ububasha, vyongeye akamaramaza Abayuda baba i Damasiko mu kwemeza mu buryo bwumvikana yuko uyo ari Kristu+.

23 Maze imisi itari mike iri mu guhera, Abayuda baja inama yo kumwica+. 24 Ariko Sauli amenya umugambi mubi bamugiriye. Mugabo n’amarembo baguma bayareretse bavyitondeye ku murango no mw’ijoro kugira bamwice+. 25 Nuko abigishwa biwe baramufata bamwururutsa mw’ijoro bamucishije mu gitoboro c’uruhome, bamwururukiriza mu giseke+.

26 Ashitse i Yeruzalemu+ agerageza kwifatanya n’abigishwa; mugabo bose baramutinya, kubera ko batemera ko ari umwigishwa. 27 Nuko Barunaba aramufasha+, amujana ku ntumwa, na we azidondera ingene ku nzira yari yabonye Umukama+ be n’uko uno yari yavuganye na we+, be n’ingene i Damasiko+ yari yavuganye ubutinyutsi mw’izina rya Yezu. 28 Agumana na bo, yinjira yongera asohoka i Yeruzalemu, avugana ubutinyutsi mw’izina ry’Umukama+; 29 kandi yaraganira yongera aharira n’Abayuda bavuga ikigiriki. Mugabo bano barondera kumwica+. 30 Aho bene wacu babimenyeye, bamumanukana i Sezariya hanyuma bamurungika i Taruso+.

31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.

32 Igihe Petero yariko aca mu mihingo yose, amanuka no ku beranda baba i Luda+. 33 Ahasanga umuntu umwe yitwa Eneya, yari amaze imyaka umunani arambaraye ku nderuzo yiwe, kubera yari amugaye. 34 Petero amubwira+ ati: “Eneya, Yezu Kristu aragukijije+. Haguruka usase igitanda cawe.” Na we buno nyene aca arahaguruka. 35 Kandi ababa i Luda no mu kiyaya ca Sharoni+ bose baramubona, hanyuma bano bahindukirira Umukama+.

36 Mugabo i Yopa+ hari umwigishwa yitwa Tabita, rikaba risobanura ngo: Doruka. Yari agwije ibikorwa vyiza+, agafasha cane aboro. 37 Mugabo muri iyo misi ararwara, hanyuma arapfa. Nuko baramwuhagira, baraheza bamushira mu cumba co hejuru. 38 Maze kubera ko i Luda hari hafi y’i Yopa+, aho abigishwa bumviye ko Petero ari muri ico gisagara bamutumako abagabo babiri ngo bamwinginge bati: “Turakwinginze ntugonanwe gushika iwacu.” 39 Petero aca arahaguruka ajana na bo. Hanyuma ashitse, bamudugana muri ca cumba co hejuru; maze abapfakazi bose baza kuri we barira bongera berekana impuzu z’imbere n’impuzu zo hejuru+ Doruka yahora akora akiri kumwe na bo+. 40 Mugabo Petero asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama, arasenga, maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: “Tabita, haguruka!” Na we ateranura amaso, maze abonye Petero, aricara+. 41 Amuha ukuboko, aramuhagurutsa+, hanyuma ahamagara aberanda n’abapfakazi, amubashikiriza ari muzima+. 42 Ivyo biramenyekana i Yopa hose, kandi benshi bacika abemera Umukama+. 43 Aguma imisi itari mike i Yopa+ ku witwa Simoni, umuhinguzi w’inshato+.

10 Ico gihe i Sezariya hari umugabo umwe yitwa Koruneliyo, intwazangabo+ y’umugwi w’ingabo z’Ubutaliyano+, ukwo kukaba ari ko zitwa, 2 umuntu yubaha Imana+ kandi akayitinya+ ari kumwe n’urugo rwiwe rwose, kandi agafasha cane aboro+, akaba kandi yama atakambira Imana+. 3 Nko kw’isaha y’icenda+ y’umusi, abona neza mw’iyerekwa+ umumarayika+ w’Imana aza kuri we akamubwira ati: “Koruneliyo!” 4 Koruneliyo amuhanga amaso, agira ubwoba, avuga ati: “Ni iki ga Mukama?” Na we amubwira ati: “Amasengesho yawe+ n’imfashanyo uha aboro vyaduze nk’icibutso imbere y’Imana+. 5 None rero nurungike abagabo i Yopa utumeko uwitwa Simoni batazira Petero. 6 Uyo muntu ahawe indaro n’uwitwa Simoni, umuhinguzi w’inshato, uwufise inzu iruhande y’ikiyaga+.” 7 Umumarayika avuganye na we yabaye akigenda, aca ahamagara babiri mu bakozi biwe bo mu nzu be n’umusoda yubaha Imana wo mu bama bamukorera+, 8 abiganira vyose hanyuma abatuma i Yopa+.

9 Bukeye bakibandanya urugendo rwabo bakegereza igisagara, Petero aduga hejuru ku nzu+ nko kw’isaha ya gatandatu gusenga+. 10 Mugabo arasonza cane, ashaka kurya. Bakiriko barategura, amera nk’uwutwawe n’indoto+, 11 maze abona ijuru ryuguruye+ n’ikintu c’igitebo kimanuka nk’uruhuzu rw’ilino runini rwururukirizwa kw’isi ku masonga yarwo ane; 12 kandi muri co hari ubwoko bwose bw’ibiremwa vy’amaguru ane n’ibikwega inda hasi vyo kw’isi be n’inyoni zo mu kirere+. 13 Hanyuma ijwi riza kuri we riti: “Haguruka Petero, ubage, urye+!” 14 Mugabo Petero avuga ati: “Oya Mukama, kuko ntarigera ndya ikintu na kimwe gihumanye kandi canduye+.” 15 Nya jwi ryongera kuvugana na we ubugira kabiri riti: “Wewe reka gufata ivyo Imana yahumanuye ngo uvyite ibihumanye+.” 16 Ivyo biba ubugira gatatu, buno nyene nya kintu c’igitebo gica kiraduzwa mw’ijuru+.

17 Igihe Petero muri we yari akizazaniwe cane n’ico ivyo yari abonye mw’iyerekwa vyoba bisobanura, ehe ba bagabo barungitswe na Koruneliyo bari babaririkije inzu ya Simoni hanyuma bahagarara ng’aho kw’irembo+. 18 Maze barasemerera babaza nimba Simoni batazira Petero yari ahawe indaro ng’aho. 19 Petero akiriko arazirikana mu mutima kuri rya yerekwa, impwemu+ ivuga iti: “Ehe hari abagabo batatu bariko barakurondera. 20 Ariko haguruka, umanuke, ujane na bo, udakekeranya na gato, kuko ari jewe nabatumye+.” 21 Nuko Petero aramanuka aja kuri ba bagabo, avuga ati: “Ehe uwo muriko murarondera ni jewe. Mugenzwa n’iki?” 22 Bavuga bati: “Koruneliyo, intwazangabo, umugabo w’umugororotsi atinya Imana+ kandi avugwa neza+ n’ihanga ryose ry’Abayuda, yategetswe n’Imana biciye ku mumarayika mweranda, ngo agutumeko uze ku nzu yiwe, yumve ivyo uvuga.” 23 Arabinjiza rero, abaha indaro.

Bukeye arahaguruka ajana na bo, na bamwe muri bene wacu b’i Yopa bajana na we. 24 Ku musi ukurikira yinjira i Sezariya. Mu bisanzwe Koruneliyo yari abiteze, akaba kandi yari yakoranije incuti ziwe n’abagenzi somambike biwe. 25 Petero yinjiye, Koruneliyo aramusanganira, yikubita hasi imbere y’ibirenge vyiwe aramwunamira. 26 Mugabo Petero amukura hasi, avuga ati: “Haguruka; na jewe ndi umuntu+.” 27 Akiriko arayaga na we arinjira asanga abantu benshi bakoranye, 28 maze ababwira ati: “Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amwegere+; yamara Imana yanyeretse ko ata muntu nkwiye kwita uwuhumanye canke uwanduye+. 29 Ni co gituma naje, ata kwanka vy’ukuri, igihe natumwa. Ndasavye rero mumbwire ico mwantumiyeko.”

30 Nuko rero Koruneliyo avuga ati: “Haciye imisi ine uharuye kuva kuri iyi saha, nariko ndasenga mu nzu iwanje kw’isaha y’icenda+, nza mbona umuntu yambaye impuzu zakaka+ ahagaze imbere yanje, 31 avuga ati: ‘Koruneliyo, isengesho ryawe ryumviswe rirashimwa, n’imfashanyo uha aboro zibutswe imbere y’Imana+. 32 Tumako i Yopa rero Simoni batazira Petero+. Uyo muntu ahawe indaro mu nzu kwa Simoni umuhinguzi w’inshato, iruhande y’ikiyaga+.’ 33 Naciye rero ngutumako, kandi wagize neza kuza hano. Ni co gituma muri uno mwanya turi imbere y’Imana twese kugira ngo twumve ibintu vyose Yehova yagutegetse kuvuga+.”

34 Petero aca ateranura akanwa, avuga ati: “Ni ukuri ndatahuye yuko Imana itagira nkunzi+, 35 mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera+. 36 Yatumye ijambo+ kuri bene Isirayeli kugira ngo bamenyeshwe inkuru nziza y’amahoro+ biciye kuri Yezu Kristu: Uyo ni we Mukama w’abandi bose+. 37 Murazi inkuru yavugwa i Yudaya hose, kuva i Galilaya inyuma y’ibatisimu Yohani yamamaza+, 38 inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+. 39 Kandi twebwe turi ivyabona vy’ibintu vyose yakoze mu gihugu c’Abayuda n’i Yeruzalemu; mugabo kandi baramwishe bamumanitse ku giti+. 40 Uyo Imana yaramuzuye ku musi ugira gatatu hanyuma imuha kwibonekeza+, 41 atari ku bantu bose, ahubwo ku vyabona vyagenywe imbere y’igihe n’Imana+, kuri twebwe twariye kandi tukanywa dusangira na we+ inyuma y’aho azukiye mu bapfuye. 42 Vyongeye, yadutegetse kwamamaza+ inkuru nziza ku bantu no gushinga intahe inogangije yuko uyo ari Umwe yashirwaho n’Imana ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye+. 43 Uyo abahanuzi bose baramushingira intahe+, yuko umuntu wese amwizera ababarirwa ibicumuro mw’izina ryiwe+.”

44 Petero akiriko aravuga ivy’ivyo bintu, impwemu nyeranda iza ku bariko barumviriza iryo jambo bose+. 45 Abizigirwa bari bazananye na Petero bo mu bagenyerewe barumirwa, kubera ko ingabirano ya gusa y’impwemu nyeranda yariko irasukwa no ku banyamahanga+. 46 Kuko babumva bavuga mu ndimi bongera bashimagiza Imana+. Maze Petero asubizayo ati: 47 “Hari uwobuza amazi ngo abo ntibabatizwe+ kandi baronse impwemu nyeranda nk’uko natwe nyene twayironse?” 48 Aca abategeka kubatizwa mw’izina rya Yezu Kristu+. Maze bamusaba kugumana na bo imisi mikeyi.

11 Buno intumwa na bene wacu bari i Yudaya bumva yuko abanyamahanga+ na bo nyene bari bakiriye ijambo ry’Imana. 2 Nuko aho Petero adugiye i Yeruzalemu, abaharanira ivy’ukugenyerwa+ batangura kuja impaka na we, 3 bavuga yuko yari yagiye mu nzu y’abantu batagenyerewe kandi agasangira na bo. 4 Petero aca ajako, abibasigurira ido n’ido, ati:

5 “Nari mu gisagara ca Yopa nsenga, maze mbaye nk’uwutwawe n’indoto, nerekwa ikintu c’igitebo kimanuka nk’uruhuzu rw’ilino runini rwururukirizwa ku masonga yarwo ane ruvuye mw’ijuru, hanyuma kiranshikira. 6 Nitegereje muri co, ndihweza, mbona ibiremwa vy’amaguru ane vyo kw’isi n’ibikoko n’ibikwega inda hasi n’inyoni zo mu kirere+. 7 Numva kandi ijwi rimbwira riti: ‘Haguruka Petero, ubage, urye+!’ 8 Mugabo ndavuga nti: ‘Oya Mukama, kuko ikintu gihumanye canke canduye kitigeze kingera mu kanwa+.’ 9 Ubugira kabiri nya jwi rivuye mw’ijuru ririshura riti: ‘Wewe reka kwita ibihumanye ivyo Imana yahumanuye+.’ 10 Ivyo biba ubugira gatatu, hanyuma vyose vyongera gukwegwa biduzwa mw’ijuru+. 11 Vyongeye, ehe muri ako kanya hari abagabo batatu bahagaze imbere y’inzu twarimwo, bakaba bari batumwe kuri jewe bavuye i Sezariya+. 12 Nuko impwemu+ imbwira kujana na bo, ata gukekeranya na gato. Mugabo aba bene wacu batandatu na bo nyene twarajanye, twinjira mu nzu ya nya mugabo+.

13 “Atwiganira ingene yabonye umumarayika ahagarara mu nzu yiwe akavuga ati: ‘Rungika abantu i Yopa utumeko Simoni batazira Petero+, 14 na we azokubwira ivyo bintu, ari vyo vyotuma wewe n’abo mu nzu yawe bose mukizwa+.’ 15 Mugabo aho ntanguriye kuvuga, impwemu nyeranda iza kuri bo nk’uko na twebwe yatujeko mu ntango+. 16 Kuri ivyo nca nibuka ijambo ry’Umukama, ingene yahora avuga ati: ‘Yohani we yabatirisha amazi+, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+.’ 17 Nimba rero Imana yabahaye ingabirano ya gusa nk’imwe nyene yaduha twebwe abemeye Umukama Yezu Kristu+, jewe nari nde ngo mbuze Imana+?”

18 Aho bumviye ivyo bintu, bavyemera ukwo+, baca baninahaza Imana+, bati: “Noneho rero Imana yahaye n’abanyamahanga ukwigaya kugira baronke ubuzima+.”

19 Nuko rero abari barasanzajwe+ n’amakuba yari yavyutse ku vya Sitefano baragenda, bashika i Fenisiya+ n’i Shipure+ n’i Antiyokiya, mugabo ata wundi babwira rya jambo kiretse Abayuda gusa+. 20 Ariko muri bo harimwo abagabo bamwe b’i Shipure n’i Sireni baje i Antiyokiya, hanyuma batangura kuganiriza abavuga ikigiriki+, bamenyesha inkuru nziza y’Umukama Yezu+. 21 Ikigeretseko, ukuboko kwa Yehova+ kwari kumwe na bo, kandi igitigiri kinini c’ababaye abemera bahindukirira Umukama+.

22 Inkuru iberekeye ishika mu matwi y’ishengero ryari i Yeruzalemu, baca barungika Barunaba+ aragenda gushika i Antiyokiya. 23 Aho ashikiye akabona ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana, aranezerwa+ aca atangura kubaremesha bose kubandanya mu Mukama babishizeko umutima+; 24 kuko yari umuntu mwiza kandi yuzuye impwemu nyeranda n’ukwizera. Isinzi ritari rito rirongerwa ku Mukama+. 25 Nuko aja i Taruso+ kurondera hose Sauli+, 26 hanyuma amaze kumutora, amuzana i Antiyokiya. Maze bamara umwaka wose bakoranira hamwe na bo mw’ishengero bongera bigisha isinzi ritari rito, kandi i Antiyokiya ni ho abigishwa batanguriye kwitwa abakirisu bivuye ku Mana+.

27 Muri iyo misi abahanuzi+ baramanuka bava i Yeruzalemu baja i Antiyokiya. 28 Umwe muri bo yitwa Agabo+ arahaguruka, hanyuma yerekana biciye ku mpwemu yuko ikigoyi gikomeye cari kigiye gutera kw’isi yose+; kandi nkako carabaye mu gihe ca Kolode. 29 Nuko rero abo mu bigishwa, umwe wese nk’uko ashoboye+, biyemeza kurungika imfashanyo yo gutabara+ abavukanyi baba i Yudaya; 30 kandi ivyo barabikoze, bayirungika ku bagabo b’inararibonye biciye ku kuboko kwa Barunaba na Sauli+.

12 Nko muri ico gihe nyene, Herodi umwami aramvura amaboko ngo agirire nabi+ bamwe mu bo mw’ishengero. 2 Yica Yakobo mwene wabo na Yohani+ akoresheje inkota+. 3 Abonye ko bihimbara Abayuda+, arabandanya afata na Petero. (Ico gihe yari imisi y’imikate itarimwo umwambiro+.) 4 Nuko aramufata, amushira mw’ibohero+, amuhereza imigwi ine y’abasoda banebane iza irakuranwa mu kumurinda, kuko yagomba kumuzana imbere y’abantu inyuma ya pasika*+. 5 Petero rero agumizwa mw’ibohero; mugabo ishengero riguma rimusabira+ ku Mana n’ubwira bwinshi.

6 Buno Herodi ari hafi kumuzana, iryo joro Petero yari asinziriye aboheshejwe iminyororo ibiri hagati y’abasoda babiri, kandi abarinzi imbere y’umuryango bari bacunze nya bohero. 7 Mugabo, ehe umumarayika wa Yehova ahagarara+ ng’aho, umuco na wo ukayanganira mu gasho. Akubita Petero mu rubavu, aramuvyura+, amubwira ati: “Haguruka ningoga!” Ya minyororo yiwe ica irakoroka+ imuva ku maboko. 8 Nya mumarayika+ amubwira ati: “Kenyera, wambare inkweto* zawe.” Agira kuno. Amaherezo amubwira ati: “Ambara impuzu yawe yo hejuru+, ugume unkurikira.” 9 Nuko arasohoka, aguma amukurikira, mugabo ntiyari azi yuko ivyariko biraba biciye kuri nya mumarayika vyari ivy’ukuri. Kukaba nkako, yagira ngo ariko arerekwa+. 10 Barenganye umugwi wa mbere w’abanyezamu n’uwa kabiri, bashikira umuryango w’irembo w’icuma winjira mu gisagara, uno uca uriyugurura imbere yabo+. Bamaze gusohoka, barabandanya baciye mw’ibarabara rimwe, buno nyene nya mumarayika aca amusiga aho aragenda. 11 Petero na we, agaruye akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri yuko Yehova yatumye umumarayika wiwe+ akandokora+ mu kuboko kwa Herodi no mu vyo abantu bo mu Bayuda bari biteze vyose.”

12 Amaze kubirimbura, aja ku nzu kwa Mariya nyina wa Yohani batazira Mariko+, aho abatari bake bari bakoraniye bongera basenga. 13 Adodoye ku muryango w’irembo, umusukukazi yitwa Roda aza kwitaba, 14 maze amenye ijwi rya Petero, ntiyugurura umuryango kubera akanyamuneza, ahubwo aca arirukanga mu nzu, avuga yuko Petero yari ahagaze kw’irembo. 15 Bamubwira bati: “Urasara.” Mugabo aguma ashimika yemeza yuko ari vyo. Batangura kuvuga bati: “Ni umumarayika wiwe+.” 16 Mugabo Petero aguma ng’aho adodora. Buguruye, baramubona, barajongoroka. 17 Mugabo abagirira ikimenyetso+ n’ukuboko ngo bacereze, hanyuma abadondera ingene Yehova yamukuye mw’ibohero, maze avuga ati: “Mwiganire ivyo bintu Yakobo+ n’abavukanyi.” Aca arasohoka, aja ahandi.

18 Erega hakeye+, haba uruhagarara rutari ruto mu basoda, bibaza ivyari vyashikiye koko Petero. 19 Herodi+ aramurondera ashirutse ubute, hanyuma amubuze, asambisha ba barinzi maze ategeka yuko bajanwa guhanwa+; nuko Herodi aramanuka ava i Yudaya aja i Sezariya, ahamara igihe.

20 Ico gihe yashaka kurwana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni. Nuko baza* kuri we bahuje inama; hanyuma Bulasito uwari ajejwe icumba c’uburyamo c’umwami, bamaze kumwumvisha akanyurwa, batangura gusaba amahoro, kubera ko igihugu cabo caronswa ibifungurwa+ bivuye mu gihugu c’umwami. 21 Mugabo umusi uri izina, Herodi yambara impuzu za cami hanyuma yicara ku ntebe yiwe y’imanza, atangura kubashikiriza ijambo rigenewe abantu bose. 22 Maze abantu bari bakoraniye ng’aho batangura gusemerera bati: “Ni ijwi ry’imana, si iry’umuntu+!” 23 Ako kanya nyene umumarayika wa Yehova aramukubita+, kuko atari yahaye ubuninahazwa Imana+; aca arigitwa n’inyo, aracikana.

24 Mugabo ijambo+ rya Yehova ribandanya gukura no gukwiragira+.

25 Nayo Barunaba+ na Sauli, bamaze gushitsa neza igikorwa co gutanga imfashanyo zo gutabara+ i Yeruzalemu, baragaruka, bahitana Yohani+, umwe batazira Mariko.

13 Ico gihe i Antiyokiya hari abahanuzi+ n’abigisha mw’ishengero ryaho: Barunaba hamwe na Simeyoni uwitwa Nigeri, na Lusiyo+ w’i Sireni, na Manayeni uwari yigishirijwe hamwe na Herodi umutware w’intara, na Sauli. 2 Igihe bariko barakorera+ Yehova ku mugaragaro bongera bisonzesha, impwemu nyeranda ivuga iti: “Mu bantu bose nimunshirire ku ruhande Barunaba na Sauli+ ku bw’igikorwa nabahamagariye.” 3 Maze barisonzesha, barasenga, babarambikako ibiganza+, baraheza barabareka baragenda.

4 Nuko abo bantu bamanuka i Selesiya barungitswe n’impwemu nyeranda, hanyuma bafata ubwato bavayo, baja i Shipure. 5 Bageze i Salami batangura kwamamaza ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda. Bari bafise na Yohani+ yababera umusuku.

6 Bamaze guca mw’izinga ryose gushika i Pafo, bahura n’umugabo umwe w’umupfumu, umuhanuzi w’ikinyoma+, akaba yari Umuyuda yitwa Bari-Yezu, 7 kandi yari kumwe na buramatari Serejiyo Paulosi, umugabo aciye ubwenge. Uwo mugabo ahamagara Barunaba na Sauli, aronderana igishika kwumva ijambo ry’Imana. 8 Mugabo Elima umupfumu (nkako, ukwo ni ko izina ryiwe risobanurwa) atangura kubarwanya+ arondera gukura uwo buramatari ku kwizera. 9 Sauli, ari na we Paulo, yuzuye impwemu nyeranda, amushinga ijisho, 10 avuga ati: “Ewe wa muntu yuzuye ubwoko bwose bw’ububeshi n’ubwoko bwose bw’ikibi kibishe, wa mwana wa Shetani+, wa mwansi w’ibigororotse vyose: mbega ntuzoreka kugoramika inzira zigororotse za Yehova? 11 None rero, ehe ukuboko kwa Yehova kuri kuri wewe, kandi urahuma, umare igihe utabona umuco w’izuba.” Ako kanya nyene igipfungu kizitanye be n’umwiza bimugwako, aca agendagenda irya n’ino arondera abo kumufata ukuboko+. 12 Maze buramatari+ ngo abone ivyari bibaye, acika uwemera, kuko yari ajorejwe n’inyigisho ya Yehova.

13 Nya bantu, bafata ikiyaga bava i Pafo bashika i Peruga h’i Pamfiliya+ bari kumwe na Paulo. Mugabo Yohani+ abasigayo asubira+ i Yeruzalemu. 14 Ariko bo barabandanya, bava i Peruga baza i Antiyokiya h’i Pisidiya, hanyuma binjira mw’isinagogi+ ku musi w’isabato, baricara. 15 Itegeko n’Abahanuzi bimaze gusomerwa imbere y’abantu+, abakuru bahagarikiye+ isinagogi babatumako bati: “Bagabo, bene wacu, nimba hari ijambo ry’indemesho mufise ryo kubwira abantu, rivuge.” 16 Nuko Paulo arahaguruka, agira ikimenyetso+ n’ukuboko abamāma, avuga ati:

“Bagabo, yemwe Bisirayeli namwe bandi mutinya Imana, nimwumve+. 17 Imana y’iki gisata Isirayeli yatoye ba sogokuruza bacu, kandi yashize hejuru nya gisata igihe bari babayeho ari ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri hanyuma ibakuzayo ukuboko kubanguye+. 18 Kandi mu kiringo c’imyaka nka mirongo ine+ yarihanganiye ingeso zabo mu gahinga. 19 Imaze guhonya amahanga indwi mu gihugu ca Kanani, igabura igihugu c’ayo mahanga ku bupfindo+: 20 ivyo vyose biba mu myaka nk’amajana ane na mirongo itanu.

“Hanyuma y’ivyo ibaha abacamanza gushika kuri Samweli umuhanuzi+. 21 Mugabo kuva ico gihe basaba umwami+, Imana iraheza ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini+, mu myaka mirongo ine. 22 Imaze kumukura+, ibahagurukiriza Dawidi ngo abe umwami+, uwo yashingiye intahe ikavuga iti: ‘Nabonye Dawidi mwene Yese+, umuntu ahimbara umutima wanje+, uwuzokora ivyo nipfuza vyose+.’ 23 Mu ruvyaro rw’uyo muntu+, nk’uko umuhango wayo wari, ni ho Imana yakuriye Isirayeli umukiza+, ari we Yezu, 24 inyuma y’aho Yohani+ amariye kwamamaza icese ku bantu bose ba Isirayeli ibatisimu y’ukwigaya, imbere y’umuzo w’Uyo+. 25 Mugabo igihe Yohani yariko ararangiza urugendo rwiwe, yaravuga ati: ‘Mugira ngo ndi nde? Sindi we. Mugabo, ehe hari uwuriko araza inyuma yanje uwo bitambereye gupfundurura inkweto z’ibirenge vyiwe+.’

26 “Bagabo, bene wacu, yemwe bana bo mu bwoko bwa Aburahamu n’abo bandi bo muri mwebwe batinya Imana, ijambo ry’ubu bukiriro ryatumwe kuri twebwe+. 27 Kuko ababa i Yeruzalemu n’abatware babo Uyo batamumenye+, mugabo igihe bakora nk’abacamanza, barashikije ibintu vyavuzwe n’Abahanuzi+, nya bintu bikaba bisomwa n’ijwi ryumvikana buri Sabato, 28 kandi, naho bataronse imvo yo kumwica+, basavye Pilato ko yicwa+. 29 Bamaze kurangura ibintu vyose vyanditswe kuri we+, bamumanura ku giti+ baraheza bamushira mu mva+. 30 Mugabo Imana yaramuzuye mu bapfuye+; 31 kandi yamaze imisi myinshi abonekera abari baduganye na we kuva i Galilaya gushika i Yeruzalemu, ubu bakaba ari ivyabona vyiwe ku bantu+.

32 “Turiko rero tubamenyesha inkuru nziza yerekeye umuhango wahawe ba sogokuruza+, 33 yuko Imana yawushikije rwose kuri twebwe abana babo mu kuzura Yezu+; nk’uko vyanditswe mw’izaburi igira kabiri, ngo: ‘Uri umwana wanje, ncitse So uyu musi+.’ 34 Kandi ivy’ukwo kuba yaramuzuye mu bapfuye ngo ntaze asubire ku kubora, yabivuze muri ubu buryo ati: ‘Nzobaha ubuntu bwuzuye urukundo bwagiriwe Dawidi bwo kwizigirwa+.’ 35 Ni co gituma ivuga kandi mu yindi zaburi iti: ‘Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona ukubora+.’ 36 Kuko Dawidi+ we yakoze ukugomba kw’Imana gutomoye mu gihe c’iyaruka ryiwe bwite hanyuma agasinzira mu rupfu maze agahambwa hamwe na ba sekuruza, akabona ukubora+. 37 Ariko uwo Imana yazuye we ntiyabonye ukubora+.

38 “Nimubimenye rero, bene wacu, yuko biciye kuri Uyo ukubabarirwa ibicumuro kuriko kuramamazwa kuri mwebwe+, 39 be n’uko mu bintu vyose mutashoboye kwitwamwo intungane biciye kw’itegeko rya Musa+, umuntu wese yemera yitwa intungane biciye kuri Uyo+. 40 Nuko rero, murabe neza ngo ivyavuzwe mu Bahanuzi ntibibashikeko, ngo: 41 ‘Muvyitegereze, mwa banyakagaye mwe, mubitangarire, muzimangane, kuko ngira nkore igikorwa mu misi yanyu, igikorwa mutazogenda mwemeye naho hogira uwukibiganira ido n’ido+.’”

42 Igihe bariko barasohoka, abantu batangura gusaba binginga ngo baze babwirwe ivyo bintu kw’isabato ikurikira+. 43 Nuko ikoraniro ryo mw’isinagogi rimaze gusambuka, benshi mu Bayuda no mu binjiye idini ryabo bǎsenga Imana bakurikira Paulo na Barunaba+, bano mu kubabwira batangura kubahimiriza+ ngo babandanye mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+.

44 Kw’isabato ikurikira, hafi igisagara cose gikoranira hamwe ngo cumve ijambo rya Yehova+. 45 Abayuda ngo babone nya masinzi, buzura ishari+, batangura guharira ibivugwa na Paulo barogota+. 46 Nuko rero, Paulo na Barunaba bavugana ubutinyutsi bati: “Vyari nkenerwa ko ijambo ry’Imana ribanza kubwirwa mwebwe+. Ko murishiburiye kure+ yanyu ntimubone ko mubereye ubuzima budahera, ehe duhindukiriye amahanga+. 47 Nkako, Yehova yaduhaye ibwirizwa muri aya majambo, ati: ‘Nkugenye kuba umuco w’amahanga+, ngo ube ubukiriro gushika ku mpera y’isi+.’”

48 Aho abo mu mahanga bavyumviye, batangura kunezerwa no kuninahaza ijambo rya Yehova+, maze abo bose bari bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera bacika abemera+. 49 Ikigeretseko, ijambo rya Yehova ribandanya gushikanwa mu gihugu cose+. 50 Mugabo Abayuda+ bagumura abagore bubahwa bǎsenga Imana be n’abantu bakurubakuru b’igisagara, hanyuma bavyura uruhamo kuri Paulo+ na Barunaba maze babaterera inyuma y’akarere kabo. 51 Bano babakunkumurira umukungugu wo ku birenge vyabo+ baraheza baja muri Ikoniyo. 52 Abigishwa babandanya kwuzuzwa akanyamuneza+ be n’impwemu nyeranda.

14 Maze muri Ikoniyo+ binjira bari kumwe mw’isinagogi+ y’Abayuda, hanyuma baravuga ku buryo Abayuda n’Abagiriki indiri n’indiri+ bacika abemera. 2 Mugabo Abayuda batemera baragumura+ bongera bosha imitima y’abanyamahanga kurwanya abavukanyi+. 3 Bamara rero igihe kitari gito bavugana ubutinyutsi ku bubasha bwa Yehova, uwashingira intahe ijambo ry’ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe mu gutuma ibimenyetso n’ibitangaza bikorwa biciye ku maboko yabo+. 4 Ariko nya bantu indiri bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe baja ku ruhande rw’Abayuda, abandi na bo ku ruhande rw’intumwa. 5 Igihe rero abanyamahanga n’Abayuda hamwe n’abatware babo bagerageza n’ubukazi n’akantu kubagirira nabi bimwe biteye isoni no kubatera amabuye+, 6 aho babimenyesherejwe bahungira+ mu bisagara vya Lukawoniya, Lusitira na Derube no mu gihugu co mu micungararo; 7 hanyuma babandanya kumenyesha ng’aho inkuru nziza+.

8 Ico gihe i Lusitira hari hicaye umugabo umwe aremaye ibirenge, yacumbagira kuva akiva mu nda ya nyina+, kandi ntiyari bwigere atambuka na gato. 9 Uyo mugabo yariko yumviriza ivyo Paulo avuga, kandi uno amushinze ijisho akabona ko afise ukwizera+ kugira ngo akizwe, 10 avuga n’ijwi rirenga ati: “Hagarara ugororotse ku birenge vyawe.” Maze arasimba, atangura gutambuka+. 11 Nya masinzi na yo ngo abone ivyo Paulo akoze, ashira amajwi hejuru, avuga mu rurimi rw’ikinyalukawoniya ati: “Imana+ zicitse nk’abantu zimanuka muri twebwe!” 12 Barunaba bamwita Zeyu, Paulo na we Herume, kuko ari we yaja imbere mu kuvuga. 13 Umuherezi wa Zeyu na we, urusengero rwayo rukaba rwari imbere y’igisagara, azana amashūri n’ingori z’amashurwe ku marembo ashaka gushikana ibimazi+ ari kumwe na nya masinzi.

14 Ariko intumwa Barunaba na Paulo ngo bavyumve, batantamura impuzu zabo zo hejuru, basimbira muri nya sinzi, barasemerera 15 bati: “Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu+ bafise utunenge+ nkamwe, tukaba turiko tubamenyesha inkuru nziza, kugira ngo muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi+ muje ku Mana nzima+, iyakoze ijuru+ n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose. 16 Mu mayaruka yarenganye yararetse amahanga yose ngo abandanye kugendera mu nzira zayo+, 17 naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza+, ikabaha imvura+ iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze+.” 18 Yamara no mu kuvuga ivyo, ntivyaboroheye kubuza nya masinzi kubashikanira ibimazi.

19 Mugabo hashika Abayuda bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo maze bosha amasinzi+, hanyuma batera amabuye Paulo, bamuburutira inyuma y’igisagara, biyumvira ko yapfuye+. 20 Ariko aho abigishwa bamukikurije, arahaguruka yinjira mu gisagara. Bukeye avayo ajana na Barunaba i Derube+. 21 Hanyuma aho bamariye kumenyesha inkuru nziza ico gisagara no guhindura abatari bake abigishwa+, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo n’i Antiyokiya, 22 bakomeza imitima y’abigishwa+, babaremesha kuguma mu kwizera bavuga kandi bati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi+.” 23 Vyongeye, bagena abagabo b’inararibonye+ mw’ishengero rimwerimwe ryose ku bwabo, hanyuma barasenga bashizeko n’ukwisonzesha+, babaragiza Yehova+ uwo bari bemeye.

24 Nuko baca i Pisidiya bashika i Pamfiliya+, 25 maze bamaze kuvuga rya jambo i Peruga, bamanuka muri Ataliya. 26 Hanyuma bavayo, bafata ubwato baja i Antiyokiya+, aho bari baragijwe ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana ku bw’igikorwa bari baranguye bimwe bishitse+.

27 Aho bamariye gushika bagakoraniriza ishengero hamwe, bigana+ ibintu vyose Imana yari yakoze biciye kuri bo, be n’uko yari yugururiye amahanga umuryango ujana ku kwizera+. 28 Nuko bamarana n’abigishwa igihe kitari gito.

15 Hanyuma abantu bamwe baramanuka bavuye i Yudaya+, batangura kwigisha abavukanyi ngo: “Mutagenyerewe+ nk’uko umugenzo wa Musa uri+, ntimushobora gukizwa.” 2 Mugabo aho hamariye kuba ugucanamwo be n’uguharira kutoroshe hagati yabo na Paulo na Barunaba, bashinga yuko Paulo na Barunaba n’abandi bo muri bo baduga ku ntumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu+ ku vyerekeye ivyo bihari.

3 Nuko, ishengero rimaze kubaherekeza gatoyi+, abo bagabo babandanya urugendo baca i Fenisiya n’i Samariya, bigana ido n’ido uguhinduka kw’abanyamahanga+, batera akanyamuneza kenshi abavukanyi bose+. 4 Bashitse i Yeruzalemu bakirwa neza+ n’ishengero n’intumwa n’abagabo b’inararibonye, baraheza babiganira ibintu vyose Imana yari yakoze biciye kuri bo+. 5 Yamara, bamwe mu bo mu muce w’idini w’Abafarizayo bari bemeye barahaguruka mu bibanza vyabo, bavuga bati: “Ni nkenerwa kubagenyera+ no kubategeka kwubahiriza itegeko rya Musa+.”

6 Maze intumwa n’abagabo b’inararibonye bakoranira hamwe ngo barabe ivy’ico kibazo+. 7 Hamaze kuba ibihari vyinshi+, Petero arahaguruka ababwira ati: “Bagabo, bene wacu, murazi neza yuko kuva mu misi yo mu ntango Imana yahisemwo muri mwebwe yuko biciye ku kanwa kanje abanyamahanga bumva ijambo ry’inkuru nziza bakemera+; 8 kandi Imana, imwe izi umutima+, yarashinze intahe mu kubaha impwemu nyeranda+, nk’uko natwe yayiduhaye. 9 Kandi nta tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu na bo+, mugabo yatyoroje imitima yabo ukwizera+. 10 Ubu none, kubera iki muriko murageza Imana mu kuremeka abigishwa kw’izosi ingǒgo*+ baba ba sogokuruza canke twebwe ata washoboye kwikorera+? 11 Ahubwo riho, twizigiye gukizwa biciye ku buntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama Yezu kimwe n’abo bantu nyene+.”

12 Kuri ivyo nya bantu indiri bose baracereza, batangura kwumviriza ingene Barunaba na Paulo bigana ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi Imana yakoze mu mahanga biciye kuri bo+. 13 Baretse kuvuga, Yakobo arishura ati: “Bagabo, bene wacu, nimunyumve+. 14 Simeyoni+ yiganye ata co asize inyuma ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo igisata ku bw’izina ryayo+. 15 Kandi amajambo y’Abahanuzi arahuye n’ivyo, nk’uko vyanditswe ngo: 16 ‘Inyuma y’ivyo bintu nzogaruka nongere kwubaka urusago rwa Dawidi rwatemvye; kandi nzokwongera kwubaka ibihomvagurike vyarwo nongere kuruhagarika+, 17 kugira ngo abasigaye bo mu bantu baronderane ubwira Yehova, bari kumwe n’abo mu mahanga yose, igisata citirirwa izina ryanje, ni ko Yehova avuga, ari na we akora ivyo bintu+ 18 bizwi kuva kera+.’ 19 Ni co gituma ingingo yanje ari iyo kutagora abo mu mahanga bariko bahindukirira Imana+, 20 ahubwo kubandikira kwirinda ivyahumanijwe n’ibigirwamana+, n’ubusambanyi+, n’ibinizwe+, n’amaraso+. 21 Kuko kuva mu bihe vya kera Musa afise mu gisagara no mu kindi abamwamamaza, kubera ko ivyo yanditse bisomwa mu masinagogi n’ijwi ryumvikana buri sabato+.”

22 Maze intumwa n’abagabo b’inararibonye hamwe n’ishengero ryose bashima kurungika i Antiyokiya abagabo batowe muri bo, bari kumwe na Paulo na Barunaba, ni bo Yuda ari we yitwa Barusaba+ be na Silasi, abagabo b’imboneza mu bavukanyi; 23 hanyuma bandika n’ukuboko kwabo bati:

“Intumwa n’abagabo b’inararibonye, abavukanyi, kuri abo bavukanyi b’i Antiyokiya+ n’i Siriya n’i Silisiya+ bo mu mahanga: Turabaramukije! 24 Kubera ko twumvise yuko hari abo muri twebwe babadurumbanishije amajambo+, bagerageza gutembagaza imitima yanyu kandi ata mabwirizwa twabahaye+, 25 twumvikanye duhurije hamwe+ maze dushima gutora abagabo tubarungikira bari kumwe n’abakundwa bacu Barunaba na Paulo+, 26 abantu bahevye ubuzima bwabo ku bw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu+. 27 Turungitse rero Yuda na Silasi+, ngo na bo nyene babiganire ku munwa ivyo bintu nyene+. 28 Kuko impwemu nyeranda+ na twebwe ubwacu dushimye kutabongerako uwundi muzigo+, kiretse ibi bintu vya nkenerwa: 29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, n’amaraso+, n’ibinizwe+, n’ubusambanyi+. Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu+, muzotunganirwa. Mugire amagara meza!”

30 Nuko, aho abo bantu babarekeye bakagenda, bamanuka i Antiyokiya, bakoraniriza hamwe nya bantu indiri babaha rya kete+. 31 Bamaze kurisoma, banezerezwa n’iyo ndemesho+. 32 Hanyuma Yuda na Silasi, kubera yuko na bo nyene ubwabo bari abahanuzi+, baremesha bene wacu n’insiguro nyinshi bongera barabakomeza+. 33 Nuko, bamazeyo igihe gitoyi, abavukanyi barabareka baragenda amahoro+ ku bari babatumye. 34* —— 35 Ariko Paulo na Barunaba babandanya kumara igihe i Antiyokiya+ bigisha bongera bamenyesha inkuru nziza y’ijambo rya Yehova, bari kumwe n’abandi benshi nyene+.

36 Haciye imisi mikeyi, Paulo abwira Barunaba ati: “Imbere ya vyose reka dusubireyo tugendere abavukanyi muri kimwekimwe mu bisagara twamamajemwo ijambo rya Yehova, turabe ingene bameze+.” 37 Nayo Barunaba, yari yiyemeje kujana na Yohani na we, uwitwa Mariko+. 38 Mugabo Paulo ntiyabona ko bibereye yuko bajana n’uyo, kubera ko yari yabataye kuva i Pamfiliya+ ntajane na bo ku gikorwa. 39 Haca haba ugutomboka kw’ishavu gukaze, ku buryo batandukana; hanyuma Barunaba+ ajana Mariko, bafata ubwato baja i Shipure+. 40 Paulo atora Silasi+, maze aragenda abavukanyi bamaze kumuragiza ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova+. 41 Mugabo aca i Siriya n’i Silisiya, akomeza amashengero+.

16 Nuko ashika i Derube n’i Lusitira+. Maze ng’aho hari umwigishwa umwe yitwa Timoteyo+, umwana w’umugore w’Umuyudakazi yemera, mugabo se wiwe akaba yari Umugiriki, 2 kandi yavugwa neza n’abavukanyi b’i Lusitira no muri Ikoniyo. 3 Paulo aserura icipfuzo c’uko uwo muntu yojana na we, ni kwo kumutora akamugenyera+ kubera Abayuda bari aho hantu, kuko bose uko bangana bari bazi yuko se wiwe ari Umugiriki. 4 Bariko baragenda baca mu bisagara, bagenda bashikiriza abaho ingingo zashinzwe zari zapfunditswe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu, ngo bazubahirize+. 5 Mu vy’ukuri rero, amashengero abandanya gukomezwa mu kwizera+ no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.

6 Vyongeye, baca i Firijiya no mu gihugu ca Galatiya+, kuko impwemu nyeranda yari yababujije kuvuga rya jambo mu ntara ya Aziya. 7 Bitayeko, bashitse i Misiya, bagerageza kwinjira i Bitiniya+ mugabo impwemu ya Yezu ntiyabemerera. 8 Nuko baca iruhande ya Misiya bamanuka i Tirowa+. 9 Maze mw’ijoro Paulo arerekwa+: umugabo umwe w’Umunyamakedoniya yari ahagaze amwinginga, ati: “Jabuka uze i Makedoniya, udufashe.” 10 Akimara kwerekwa, duca turondera kwinjira i Makedoniya+, dushitse ku ciyumviro c’uko Imana yari yadutumyeko ngo tubamenyeshe inkuru nziza.

11 Dufata ikiyaga rero tuva i Tirowa, tuza i Samotirase tunyaruka ubudakebuka, mugabo ku musi ukurikira tuza i Neyapoli, 12 hanyuma tuvayo tuza i Filipi+, igisagara cagabwa n’Uburoma, kikaba ari co gisagara gikuru c’intara ya Makedoniya+. Tuguma muri ico gisagara, tuhamara imisi mikeyi. 13 Hanyuma ku musi w’isabato turasohoka hanze y’irembo, iruhande y’uruzi, aho twiyumvira ko hari ikibanza co gusengeramwo; hanyuma turicara dutangura kuyaga n’abagore bari bakoranye. 14 Kandi umugore umwe yitwa Lidiya, umudandaza w’impuzu z’umuyugubwe, wo mu gisagara ca Tiyatira+ akaba kandi yari uwusenga Imana, yariko arumviriza, maze Yehova yugurura cane umutima wiwe+ ngo yiteho ibivugwa na Paulo. 15 Nya mugore n’abo mu rugo rwiwe bamaze kubatizwa+, avuga yinginga ati: “Nimba mubonye ko ndi umwizigirwa kuri Yehova, nimwinjire mu nzu yanje, muhagume+.” Aratugobera ngo twemere+.

16 Maze tugiye muri ca kibanza co gusengeramwo, umusukukazi umwe arimwo impwemu+, idayimoni* y’ukuragura+, aradusanganira. Yahora aronsa ba shebuja inyungu nyinshi+ mu kuragura. 17 Uwo mukobwa yaguma akurikira Paulo natwe asemerera+ ati: “Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose, bariko babamenyesha inzira y’ubukiriro.” 18 Amara imisi myinshi abigira. Amaherezo Paulo biramurambira+, ni kwo guhindukira akabwira nya mpwemu ati: “Ndagutegetse mw’izina rya Yezu Kristu umuvemwo+.” Ica irasohoka kuri iyo saha nyene+.

19 Ba shebuja ngo babone ico bari bazeyeko inyungu kiragiye+, baca bacakira Paulo na Silasi, barababuruta mu kaguriro babajana ku batware+, 20 hanyuma babajana ku bacamanza baraba ivy’abanyagihugu, bavuga bati: “Aba bantu bariko baradurumbanya+ cane igisagara cacu, kandi ari Abayuda, 21 kandi bariko bamamaza imigenzo+ tutemerewe gutora canke gukurikiza, kuko turi Abaroma.” 22 Nuko isinzi rirahaguruka ngo ribarwanye; hanyuma nya bacamanza, bamaze kubataburirako impuzu zabo zo hejuru, bategeka yuko bakubitwa inkoni+. 23 Aho bamariye kubakubita inkoni nyinshi+, babata mw’ibohero, bategeka umurinzi w’ibohero kubacunga neza+. 24 Kubera ahawe itegeko mwene iryo, abata mw’ibohero ry’imbere+, abohera ibirenge vyabo mu mpatane z’ibiti*+.

25 Mugabo nko mu gicugu+ Paulo na Silasi bariko barasenga bongera bashemeza Imana mu kuririmba+; egome, imbohe zarabumva. 26 Bukwi na bukwi haba nyamugigima ikomeye, ku buryo imishinge y’ibohero inyiganyiga. Vyongeye, ako kanya nyene imiryango yose iruguruka, imvuto za bose ziratekuruka+. 27 Wa murinzi w’ibohero, azanzamutse mw’itiro akabona imiryango y’ibohero yuguruye, asokora inkota yiwe agira ngo yiyice+, yiyumvira ko imbohe zatorotse+. 28 Mugabo Paulo arasemerera n’ijwi rirenga, ati: “Ntiwigirire nabi+, kuko twese turi hano!” 29 Nuko asaba ibimuri, yitera imbere, yikubita hasi+ imbere ya Paulo na Silasi ahinda agashitsi. 30 Maze arabasohokana hanze, avuga ati: “Batungwa, nkore iki+ ngo nkizwe?” 31 Bavuga bati: “Emera Umukama Yezu urakizwa+, wewe n’abo mu rugo rwawe+.” 32 Baraheza bamubwira ijambo rya Yehova ari kumwe n’abo mu nzu yiwe bose+. 33 Na we arabajana kuri iyo saha y’ijoro, yuhagira ibisebe vyabo; bose uko bangana, we n’abiwe, barabatizwa+ bidatevye. 34 Hanyuma abinjiza mu nzu yiwe, abategurira imeza, maze anezeranwa cane n’abo mu rugo rwiwe bose kuko yari yemeye Imana.

35 Hakeye, ba bacamanza+ batuma abapolisi kuvuga bati: “Rekura abo bantu.” 36 Nuko wa murinzi w’ibohero ashikiriza Paulo amajambo yabo ati: “Abacamanza baraba ivy’abanyagihugu batumye abantu yuko mwebwe babiri mworekurwa. Ubu rero, nimusohoke mwigire amahoro.” 37 Mugabo Paulo ababwira ati: “Badutonaguye ku mugaragaro ata rubanza rudutsinze, twebwe abantu b’Abaroma+, baduta mw’ibohero; none ubu badute hanze mu mpisho? Oya, habe na gatoyi! Ahubwo nibaze abe ari bo badusohora.” 38 Nuko nya bapolisi bashikiriza ayo majambo ba bacamanza. Bano batekerwa n’ubwoba bumvise yuko nya bantu ari Abaroma+. 39 Baraza rero, barabinginga, hanyuma bamaze kubasohora, babasaba kugenda bakava mu gisagara. 40 Mugabo basohoka ibohero, baja i muhira kwa Lidiya, hanyuma babonye bene wacu barabaremesha+, baraheza baragenda.

17 Buno bafata urugendo baca i Amfipoli n’i Apoloniya hanyuma baza i Tesalonika+, ahari isinagogi y’Abayuda. 2 Nuko rero, nk’uko Paulo yari asanzwe abigira+, yinjira aho bari, amara amasabato atatu azirikana hamwe na bo afatiye ku Vyanditswe+, 3 asigura yongera yemeza akoresheje ibintu vyanditswe yuko vyari nkenerwa ko Kristu acumukura+ hanyuma akazuka mu bapfuye+, avuga kandi ati: “Uyo ni we Kristu+, uyo Yezu ndiko ndabamenyesha.” 4 Ku bw’ivyo rero bamwe muri bo bacika abemera+ hanyuma bifatanya na Paulo na Silasi+; Abagiriki indiri n’indiri bǎsenga Imana be n’abagore bakurubakuru batari bake na bo nyene bagira kuno.

5 Mugabo Abayuda bagira ishari+, bahitana abagabo bamwe b’ababisha mu birirwa bicaye mu kaguriro, barema akagwi baca batangura gutera intureka mu gisagara+. Batera inzu ya Yasoni+, barondera kuzana Paulo na Silasi ku mugwi w’abari bagumutse. 6 Bababuze, baburuta Yasoni n’abavukanyi bamwe, babajana ku batware b’igisagara, basemerera bati: “Ba bantu batembagaje+ isi bari n’ino, 7 kandi Yasoni yabakiriye neza. Kandi abo bantu bose barwanya ingingo zashinzwe+ na Sezari, bakavuga ko hariho uwundi mwami+, ari we Yezu.” 8 Badurumbanya koko isinzi n’abatware b’igisagara aho bumviye ivyo bintu; 9 aho gusa bamariye kuronka ingwati ihagije kuri Yasoni n’abandi, ni ho babonye kubarekura.

10 Buno nyene mw’ijoro+ abavukanyi batuma Paulo na Silasi i Beroya, hanyuma bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda. 11 Ariko bano bari n’agatima keza kuruta ab’i Tesalonika, kuko bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma+ Ivyanditswe+ ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo ari ko biri+. 12 Benshi muri bo rero bacika abemera, n’abatari bake mu bagore b’Abagirikikazi bubahwa+ no mu bagabo na bo nyene bagira kuno. 13 Mugabo aho Abayuda b’i Tesalonika bamenyeye yuko ijambo ry’Imana ryamamajwe na Paulo n’i Beroya nyene, baza no ng’aho kwosha+ no kudurumbanya+ amasinzi. 14 Maze abavukanyi buno nyene barungika Paulo ngo agende gushika ku kiyaga+; mugabo Silasi na Timoteyo basigara ng’aho. 15 Ariko abari baherekeje Paulo baramujana gushika i Atene, hanyuma bamaze guhabwa itegeko ry’uko Silasi na Timoteyo+ boza aho ari vuba bishoboka, baragenda.

16 Paulo akibarindiririye i Atene, muri we umutima wiwe uterwa ishavu+ no kubona ingene ico gisagara cuzuye ibigirwamana. 17 Nuko rero atangura kuzirikana mw’isinagogi hamwe n’Abayuda+ n’abandi bantu bǎsenga Imana, kandi imisi yose mu kaguriro+ akazirikana hamwe n’ababa bahari. 18 Mugabo abantu bamwe bo mu bafilozofe b’Abepikuri n’Abasitoyiko+ batangura kuyaga na we baharira, bamwe bakavuga ngo: “Ivyo uwo muswaganyi ashaka kuvuga ni ibiki+?” Abandi ngo: “Asa n’uwumenyesha ibimana vy’ibinyamahanga.” Kwari ukubera ko yariko amenyesha inkuru nziza ya Yezu be n’izuka+. 19 Nuko baramucakira, bamujana kuri Areyopago, bavuga bati: “Twoshobora kumenya iyo nyigisho nshasha+ uvuga iyo ari yo? 20 Kuko uriko uzana ibintu bishasha mu matwi yacu. Dushaka rero kumenya ico ivyo bisobanura+.” 21 Nkako Abanyatene bose be n’abanyamahanga bari bacumbitse ng’aho nta kindi bamaza umwanya wabo w’ukwisamaza atari ukuvuga canke kwumviriza ikintu gishasha. 22 Maze Paulo ahagarara hagati muri Areyopago+, avuga ati:

“Bagabo b’i Atene, mbonye yuko muri vyose musa n’abihebeye ugutinya ibimana+ kurusha abandi. 23 Nk’akarorero, igihe nariko ndarengana nkihweza nitonze ivyo musenga, nabonye n’igicaniro* canditseko ngo: ‘Ku Mana Itazwi.’ Ico rero musenga mutabizi, ico ni co ndabamenyesha. 24 Imana yakoze isi n’ibintu vyose biri muri yo, nk’uko Iyo nyene iri, ikaba ari yo Mukama w’ijuru n’isi+, ntiba mu nsengero zakozwe n’amaboko y’abantu+, 25 eka mbere ntikorerwa n’amaboko y’abantu nk’aho yoba igira ico ikenera+, kuko ubwayo ari yo iha abantu bose ubuzima+ n’impemu+ n’ibintu vyose. 26 Kandi yakoze amahanga yose+ y’abantu iyakuye mu muntu umwe+, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi+, ishinga ibihe+ n’imbibe z’aho abantu baba+, 27 kugira ngo barondere Imana+, nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko+, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe. 28 Kuko muri yo ari ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho+, nk’uko bamwe mu baryoshamvugo+ bo muri mwebwe bavuze, bati: ‘Kuko na twe turi uruvyaro rwayo.’

29 “Ko rero turi uruvyaro rw’Imana+, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana+ imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu cahinguwe n’ubuhinga be n’ubwenge bw’umuntu+. 30 Ego ni ko, Imana yarirengagije ibihe vy’ukutamenya mwene ukwo+, yamara ubu iriko ibwira abantu yuko bose aho bari hose bakwiye kwigaya+. 31 Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza+ isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye+ mu bapfuye.”

32 Erega, aho bumviye ivy’izuka ry’abapfuye, bamwe batangura kwitwengera+, abandi na bo bivugira ngo: “Tuzoba turakwumva kuri ivyo n’ikindi gihe.” 33 Nuko Paulo ava muri bo, 34 mugabo abagabo bamwe bifatanya na we bacika abemera, muri bo hakaba harimwo na Diyoniziyo umucamanza wa sentare ya Areyopago+, n’umugore yitwa Damari, be n’abandi bari kumwe na bo.

18 Inyuma y’ivyo, ava i Atene aza i Korinto. 2 Abona Umuyuda umwe yitwa Akwila+, imvukira y’i Ponto yari aherutse kuva mu Butaliyano+, na Pirisila umugore wiwe, kuko Kolode+ yari yategetse Abayuda bose kuva i Roma. Nuko aja iwabo, 3 kandi kubera yuko bari basangiye umwuga, aguma i muhira iwabo, barakora+, kuko umwuga wabo wari uwo kujisha amahema. 4 Ariko yama ashikiriza insiguro mw’isinagogi+ buri sabato, agatuma Abayuda n’Abagiriki banyurwa.

5 Aho Silasi+ na Timoteyo+ bamanukiye bavuye i Makedoniya, Paulo atangura gufatīrwa cane na rya jambo, ashinga intahe ku Bayuda kugira ngo yerekane neza ko Yezu ari we Kristu+. 6 Mugabo kubera yuko baguma babirwanya kandi bagatukana+, akunkumura impuzu ziwe+, ababwira ati: “Amaraso yanyu+ abe ku mitwe yanyu. Jewe ndacuna+. Kuva ubu ngiye ku banyamahanga+.” 7 Nuko arimuka ava ng’aho, aja mu nzu y’uwitwa Titiyo Yusito, umuntu yasenga Imana, inzu yiwe ikaba yari ibangikanye n’isinagogi. 8 Mugabo Kirisipo+ umukuru ahagarikiye isinagogi acika uwemera Umukama, n’abo mu rugo rwiwe bose. Benshi mu Bakorinto bavyumvise batangura kwemera, barabatizwa. 9 Vyongeye, mw’ijoro Umukama abwira Paulo+ mw’iyerekwa, ati: “Ntutinye, ahubwo guma uvuga, ntucereze, 10 kubera ko ndi kumwe nawe+, kandi nta n’umwe azogutera ngo akugirire nabi; kuko mfise abantu benshi muri iki gisagara.” 11 Nuko aguma ng’aho umwaka umwe n’amezi atandatu, yigisha muri bo ijambo ry’Imana.

12 Igihe Galiyo yari buramatari+ wa Akaya, Abayuda bakurira hasi Paulo bahuje inama, bamujana imbere y’intebe y’imanza+, 13 bavuga bati: “Uyu muntu aca kubiri n’amategeko, agatwara+ abantu ku yindi nyigisho mu vy’ugusenga Imana.” 14 Mugabo Paulo agira ateranure akanwa, Galiyo abwira Abayuda ati: “Iyaba koko ari inabi kanaka canke ikibi kibishe, emwe Bayuda, nari kuba mfise impamvu yo kubihanganira. 15 Mugabo nimba ari ibihari vyo ku majambo, ku mazina+ no kw’itegeko+ muri mwebwe, nimuvyirabire. Sinshaka kuba umucamanza w’ivyo bintu.” 16 Kuri ivyo aca arabirukana imbere y’intebe y’imanza. 17 Nuko bose bacakira Sositene+ umukuru ahagarikiye isinagogi, batangura kumukubitira imbere y’intebe y’imanza. Mugabo Galiyo ntiyitaho ivyo bintu na gatoyi.

18 Ariko Paulo ahamaze iyindi misi itari mike, asezera bene wacu, hanyuma afata ubwato aja i Siriya ari kumwe na Pirisila na Akwila; yari yigabanishije umushatsi+ i Kenkireya+, kuko yari n’indagano. 19 Nuko bashika i Efeso, hanyuma abasigayo; mugabo we ubwiwe yinjira mw’isinagogi+, azirikana hamwe n’Abayuda. 20 Naho baguma bamusaba kumarayo ikindi gihe, ntiyavyemeye 21 ahubwo yarabasezeye+, ababwira ati: “Nzogaruka iwanyu, nimba Yehova abigomba+.” Afata ikiyaga ava i Efeso 22 aramanuka gushika i Sezariya. Hanyuma araduga, aramutsa ishengero, araheza amanuka i Antiyokiya.

23 Amazeyo igihe gitoyi, avayo aragenda, ava hamwe aja ahandi mu gihugu c’i Galatiya+ n’i Firijiya+, akomeza+ abigishwa bose.

24 Ico gihe Umuyuda umwe yitwa Apolo+, imvukira y’i Alegizandiriya, umugabo azi kuvuga, ashika i Efeso; kandi yari umuhanga mu Vyanditswe+. 25 Uwo mugabo yari yarigishijwe ku munwa mu nzira ya Yehova, kandi kubera yuko yarurumba impwemu+, yaravuga akongera akigisha ivyerekeye Yezu mu buryo bugororotse, mugabo akaba yari azi gusa ibatisimu+ ya Yohani. 26 Nuko uwo mugabo atangura kuvugana ubutinyutsi mw’isinagogi. Aho Pirisila na Akwila+ bamwumviye, baramujana baramusigurira neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta. 27 Bitayeko, kubera ko yashaka kujabuka akaja i Akaya, abavukanyi bandikira abigishwa, babahimiriza kumwakirana ubuntu. Nuko ashitseyo, afasha cane+ abari bemeye kubera ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana+; 28 kuko yahinyuza rwose Abayuda ashimitse kandi ku mugaragaro, yongera yerekana akoresheje Ivyanditswe+ yuko Yezu ari we Kristu+.

19 Mu nyuma, igihe Apolo+ yari i Korinto, Paulo aca mu ntara zo hagati mu gihugu amanuka i Efeso+, ahasanga abigishwa bamwe; 2 ababwira ati: “Mbega mwararonse impwemu nyeranda+ igihe mwacika abemera?” Bamubwira bati: “Erega, ntiturigera twumva ko habaho icitwa impwemu nyeranda+.” 3 Na we ati: “None mwabatijwe mu ki?” Bavuga bati: “Mw’ibatisimu ya Yohani+.” 4 Paulo avuga ati: “Yohani yabatiza ibatisimu y’ukwigaya+, abwira abantu kwemera uwariko araza inyuma yiwe+, ni ukuvuga kwemera Yezu.” 5 Aho bavyumviye, barabatizwa mw’izina ry’Umukama Yezu+. 6 Paulo amaze kubarambikako ibiganza+, impwemu nyeranda ica ibazako, batangura kuvuga mu ndimi no kuvuga ubuhanuzi+. 7 Bose hamwe, bari abagabo nka cumi na babiri.

8 Yinjira mw’isinagogi+, avugana ubutinyutsi amezi atatu, ashikiriza insiguro yongera akoresha imvugo inyura ku vyerekeye ubwami+ bw’Imana. 9 Mugabo aho bamwe babandanirije kwikomantaza ntibizere+, bakavuga nabi Ya Nzira+ imbere ya nya bantu indiri, abavamwo+ hanyuma akura abigishwa muri bo+, ku musi ku musi agashikiriza insiguro mu ngoro y’ishure rya Tirano. 10 Ivyo vyabaye imyaka ibiri+, ku buryo ababa mu ntara ya Aziya bose+ bumva ijambo ry’Umukama, Abayuda n’Abagiriki.

11 Kandi Imana yaguma ikora ibikorwa vy’ububasha vy’akataraboneka biciye ku maboko ya Paulo+, 12 ku buryo n’impuzu n’amatabuliya vyatwarwa bivuye ku mubiri wiwe bikajanwa ku barwayi+, kandi indwara zarabavamwo, n’impwemu mbi zigasohoka+. 13 Mugabo abantu bamwe bo mu Bayuda baguma bagendagenda bakora ivyo kwirukana amadayimoni+, na bo nyene batangura guhamagara izina ry’Umukama Yezu+ ku bari barimwo impwemu mbi, bakavuga bati: “Ndabategetse nshimitse+ ku bwa Yezu uwo Paulo yamamaza.” 14 Ico gihe hariho abahungu indwi babikora, b’uwitwa Seva, umukuru w’abaherezi w’Umuyuda. 15 Mugabo nya mpwemu mbi ibishura iti: “Ndazi Yezu+, nkamenya na Paulo+; ariko mwebwe muri bande?” 16 Kuri ivyo wa muntu yarimwo impwemu mbi abasimbirako+, arabadunuza umwe ku wundi, arabanesha, ku buryo bava muri iyo nzu bagahunga bari gusa, bafise n’ibikomere. 17 Ivyo bimenyekana kuri bose, ku Bayuda n’Abagiriki baba i Efeso; maze ubwoba+ bubatekera bose, kandi izina ry’Umukama Yezu ribandanya gushimagizwa+. 18 Kandi benshi mu bari bacitse abemera baraza bakemera icese+ ingeso zabo kandi bakazivuga ku mugaragaro. 19 Mbere abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza+ bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose. Baharurira hamwe ibiciro vyavyo basanga biciye ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu. 20 Gutyo, mu buryo bukomeye, ijambo rya Yehova riguma rikura ryongera rinesha+.

21 Ivyo birangiye, Paulo yishingira intumbero mu muzirikanyi wiwe yuko amaze guca i Makedoniya+ n’i Akaya, yofata urugendo aja i Yeruzalemu+, avuga ati: “Ninamara gushikayo ntegerezwa no kubona Roma+.” 22 Nuko atuma i Makedoniya babiri mu bamukorera, ari bo Timoteyo+ na Erasito+, mugabo we ubwiwe atebera mu ntara ya Aziya igihe gitoyi.

23 Muri ico gihe nyene havyuka uruhagarara rukomeye+ ku vyerekeye Ya Nzira+. 24 Kuko umuntu umwe yitwa Demetiriyo, umucuzi w’ifeza, yaronsa inyungu itari nke abahinguzi mu gukora utunyabugoro tw’ifeza twa Arutemi+; 25 arabakoranya, hamwe n’abakora ibintu mwene ivyo+, avuga ati: “Bagabo, murazi neza yuko iki gikorwa ari co dukesha ugutunganirwa kwacu+. 26 Vyongeye, murabona kandi murumva ingene uyo Paulo yatumye isinzi ritari rito rinyurwa kandi akarikebereza ku kindi ciyumviro, atari i Efeso+ gusa ariko hafi mu ntara ya Aziya yose, akavuga yuko izakozwe n’amaboko+ atari imana. 27 Bitayeko, hariho akaga, atari uko gusa iki gikorwa cacu kizosigara kivugwa nabi, ariko kandi n’urusengero rw’imanakazi ikomeye Arutemi+ ruzosigara rubonwa ko ari ubusa, mbere n’ubuninahazwa bwayo bwasengwa n’intara ya Aziya yose be n’isi yose bugiye gutiturwa buhindurwe ubusa.” 28 Aho nya bagabo bumviye ivyo kandi bakuzura ishavu, batangura gusemerera bati: “Irahambaye Arutemi y’Abanyefeso!”

29 Nuko igisagara cuzura umuvurungano, maze biterera icarimwe mu kibanza c’ibirori, bajana ku gahato Gayo na Arisitariko+, Abanyamakedoniya, abagendana na Paulo. 30 Nayo Paulo, yashaka kwinjira imbere ahari abantu, mugabo abigishwa ntibamwemerere. 31 Mbere na bamwe mu bahagarikizi b’imisi mikuru n’inkino bamubereye abantu beza, baramutumako, batangura kumwinginga ngo ntiyihebe ngo yinjire muri ico kibanza. 32 Mu vy’ukuri, bamwe bariko basemerera bavuga ikintu kimwe, abandi ikindi+; kuko nya koraniro ryari mu muvurungano, kandi abenshi muri bo ntibari bazi icari catumye bakoranira hamwe. 33 Nuko baja hamwe bakura Alegizandere muri nya sinzi, Abayuda bakagenda baramusunurira imbere; Alegizandere na we agira ikimenyetso n’ukuboko abamāma ashaka kwiburanira imbere y’abantu. 34 Mugabo aho bamenyeye yuko ari Umuyuda, bose bavuza induru bavuga ikintu kimwe, bamara amasaha nk’abiri basemerera, bati: “Irahambaye+ Arutemi y’Abanyefeso!”

35 Amaherezo, aho umukarani w’igisagara amariye guhwamika+ nya sinzi, avuga ati: “Bagabo b’i Efeso, ni nde vy’ukuri mu bantu atazi yuko igisagara c’Abanyefeso ari co kizigamye urusengero rwa Arutemi ikomeye be n’igishusho cakorotse kivuye mw’ijuru? 36 None rero, ko ivyo ari ntaharirizwa, birabereye ko muguma mutekanye, ntimukore ibintu gihutihuti+. 37 Kuko mwazanye aba bagabo kandi atari abambuzi b’ivyo mu nsengero canke abarogota ku manakazi yacu. 38 Nimba rero Demetiriyo+ n’abahinguzi bari kumwe na we hari uwo bafitaniye urubanza+, imisi y’imanza iriho, na ba buramatari+ bariho; nibazane ibirego bagirizanye. 39 Mugabo nimba murondera ikirenze ivyo, gitegerezwa gupfundikirwa mw’ikoraniro risanzwe rigirwa. 40 Kuko mu vy’ukuri duhakwa kwagirizwa ubugumutsi ku vy’uno musi, kandi ata mpamvu n’imwe iriho iturekurira gusigura icatumye haba aka kagwi kateye umuvurungano.” 41 Avuze ivyo+, aca arungika ikoraniro+.

20 Nya ntureka imaze guhwama, Paulo atumako abigishwa, hanyuma amaze kubaremesha no kubaha agasaga+, ava ng’aho aja i Makedoniya+. 2 Aho amariye guca muri iyo mihingo akaremesha abahari akoresheje amajambo atari make+, aza mu Bugiriki. 3 Amazeyo amezi atatu, kubera ko Abayuda bari bamugiriye umugambi mubi+ igihe yagira afate ubwato ngo aje i Siriya, afata ingingo yo gusubira inyuma aciye i Makedoniya. 4 Yari aherekejwe na Sopatero+ mwene Piro w’i Beroya, Arisitariko+ na Sekundo bo mu Batesalonika, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo+, na Tikiko+ na Tirofimo+ bo mu ntara ya Aziya. 5 Bano babandanya urugendo, baturindirira i Tirowa+; 6 mugabo dufata ikiyaga kuva i Filipi inyuma y’imisi y’imikate itarimwo umwambiro+, hanyuma turabashikira i Tirowa+ mu misi itanu; nuko tumarayo imisi indwi.

7 Ku musi wa mbere+ w’iyinga, igihe twari dukoraniye hamwe ngo twihereze imfungurwa, Paulo atangura kubashikiriza ijambo, kuko bwaca agenda; abandanya ijambo ryiwe gushika mu gicugu. 8 Hari rero amatara atari make mu cumba co hejuru+ aho twari dukoraniye. 9 Umusore umwe yitwa Eyutiko yari yicaye kw’idirisha, asinzira itiro rinini mu gihe Paulo yaguma avuga, maze akoroka ari mw’itiro, agwa hasi avuye kw’igorofa igira gatatu, bamutora yapfuye. 10 Mugabo Paulo aramanuka, amwitako+, aramubumbatira, avuga ati: “Nimureke kuvuza induru, kuko ubuzima bwiwe buri muri we+.” 11 Buno araduga, atanguza imfungurwa, arafungura, amara umwanya utari muto ayaga, gushika mu mutwenzi, amaherezo aragenda. 12 Nuko batwara wa muhungu ari muzima, barahozwa bimwe bitagira urugero.

13 Maze tuba turagenda ku bwato hanyuma tuja i Aso, aho twagomba kwuririza Paulo mu bwato, kuko we yagomba kugenda n’amaguru aho amariye gutanga amabwirizwa kuri ivyo. 14 Aho rero amariye kuduhamvya i Aso, tumwuriza mu bwato tuja i Mitileni; 15 hanyuma dufashe ubwato tukavayo ku musi ukurikira, dushika aharabana na Kiyo, mugabo bukeye dushikira Samo, hanyuma ku musi ukurikira dushika i Mileto. 16 Kuko Paulo yari yafashe ingingo yo kurengana Efeso+, kugira ngo ntamare umwanya na mutoyi mu ntara ya Aziya; kuko yariko yihuta kugira ngo hamwe vyomushobokera ashike i Yeruzalemu+ ku musi mukuru wa Pentekoti.

17 Ariko ari i Mileto atumako i Efeso abagabo b’inararibonye+ b’ishengero. 18 Bamushikiriye ababwira ati: “Murazi neza ingene kuva umusi wa mbere nahonyoje ikirenge mu ntara ya Aziya+ nagumanye namwe igihe cose+, 19 nshumbira+ Umukama n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi kurushirije+, n’amosozi, n’ibigeragezo vyanshikira bivuye ku migambi mibi+ Abayuda bangira; 20 kandi nta na kimwe naretse kubabwira mu bintu vyose vy’ingirakamaro canke ngo ndeke kubigisha+ ku mugaragaro be n’inzu+ ku nzu. 21 Mugabo nashinze intahe inogangije+ ku Bayuda no ku Bagiriki yerekeye ukwigaya+ ku Mana n’ukwizera Umukama wacu Yezu. 22 Ubu rero, ehe ngiye i Yeruzalemu mboshwe mu mutima+, naho ntazi ibizonshikira muri ico gisagara, 23 kiretse yuko mu gisagara no mu kindi impwemu nyeranda+ iguma inshingira intahe mu kuvuga yuko imvuto n’amakuba bindindiriye+. 24 Yamara rero, simbona ubuzima bwanje nk’uburi n’ico bumaze, nk’aho ari ubw’agaciro kuri jewe+, ahubwo riho icompa nkarangiza urugendo rwanje+ n’ubusuku+ nahawe+ n’Umukama Yezu, ni kwo gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+.

25 “Ubu rero, ehe ndazi yuko mwebwe mwese abo nagiye ndamamazamwo ubwami mutazokwongera kubona mu maso hanje. 26 Ku bw’ivyo ndabatanzeko icabona uno musi nyene yuko ncuna ku maraso+ y’abantu bose, 27 kuko ataho naretse kubabwira inama yose+ y’Imana. 28 Mwirinde+ ubwanyu+, murinde n’ubusho bwose+, ubwo impwemu nyeranda yabagenyemwo kuba abacungezi+, ngo muragire ishengero ry’Imana+, iryo yaguze amaraso+ y’Umwana wayo bwite. 29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo+ azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho, 30 kandi muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze+ kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo+.

31 “Mugume murikanuye rero, kandi mwibuke yuko mu myaka itatu+, ijoro n’umurango, ataho naretse gukebura+ umwe wese muri mwebwe hariko n’amosozi. 32 Ubu rero ndabaragije Imana+ n’ijambo ry’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo, rikaba rishobora kububaka+ no kubaha intoranwa mu bejejwe bose+. 33 Nta feza canke inzahabu canke ivyambarwa vy’umuntu n’umwe nagiriye umwina+. 34 Mwebwe ubwanyu murazi yuko aya maboko yandonkeje ivyo nkenera+, abironsa n’abo turi kumwe. 35 Naraberetse muri vyose yuko mu kubira akuya gutyo+ ari ho mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya+, kandi ko mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare+ kuruta guhabwa.’”

36 Aho avugiye ivyo, apfukamana+ na bo bose, arasenga. 37 Emwe, bose baraturikisha bararira, bagwa Paulo mw’izosi+ baramusoma n’ikibabarwe+, 38 kuko bari bababajwe canecane n’ijambo yari yababwiye ry’uko batari kwongera kubona mu maso hiwe+. Nuko baramuherekeza+ gushika ku bwato.

21 Aho tumariye kubiyaka tukagenda hanyuma tugafata ikiyaga, tunyaruka umudakebuka maze dushika i Kosi, mugabo ku musi ukurikira dushika i Rode, hanyuma tuva ng’aho dushika i Patara. 2 Aho tumariye kuronka ubwato bwajabuka i Fenisiya, tururira turagenda. 3 Dushitse aho tubona izinga rya Shipure+, turisiga inyuma ibubamfu turabandanya tugana i Siriya+, duhagarara i Tiro, kuko aho ari ho ubwato bwabwirizwa gupakururira imizigo+. 4 Turondeye turatora abigishwa, hanyuma tuhaguma imisi indwi. Mugabo biciye ku mpwemu+ baguma babwira Paulo kudahonyoza ikirenge i Yeruzalemu. 5 Nuko rero turangije nya misi, tuva ng’aho dufata inzira; mugabo bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza gushika inyuma y’igisagara. Hanyuma turapfukama+ kw’isesero ry’ikiyaga turasenga 6 maze turasezerana+, turaheza twurira ubwato mugabo bo basubira iwabo.

7 Maze turangiza urugendo rwo kuva i Tiro hanyuma dushika i Putolemayi, turamutsa abavukanyi, tugumana na bo umusi umwe. 8 Bukeye dufata urugendo dushika i Sezariya+, twinjira mu nzu ya Filipo umwamamaji w’injili, akaba yari umwe muri ba bagabo indwi+, hanyuma tugumana na we. 9 Uyo mugabo yari afise abakobwa bane b’isugi, bavuga ubuhanuzi+. 10 Mugabo tukihagumye imisi itari mike, umuhanuzi umwe yitwa Agabo+ amanuka avuye i Yudaya, 11 ashika aho turi hanyuma afata umukanda wa Paulo, yiboha amaguru n’amaboko, avuga ati: “Uku ni ko impwemu nyeranda ivuga: ‘Umugabo nyen’uyu mukanda Abayuda bazomuboha+ muri ubu buryo i Yeruzalemu, bamutange+ mu maboko y’abanyamahanga.’” 12 Aho twumviye ivyo, twe n’abo ng’aho dutangura kumwinginga ngo ntaduge+ i Yeruzalemu. 13 Maze Paulo yishura ati: “Ivyo mugira ni ibiki, ko murira+ mwongera muntera kugoyagoya mu mutima+? Nimubimenye: siniteguriye kuboherwa i Yeruzalemu vyonyene, ahubwo nditeguriye no gupfirayo+ ku bw’izina ry’Umukama Yezu.” 14 Vyanse ko ateshwa, tuvyemera ukwo, tuvuga duti: “Ukugomba+ kwa Yehova nikube.”

15 Inyuma y’iyo misi rero twitegurira urugendo, hanyuma dutangura kuduga i Yeruzalemu+. 16 Mugabo bamwe mu bigishwa b’i Sezariya+ na bo nyene bajana natwe, ngo badutware ku muntu yari kuduha indaro iwe, umuntu yitwa Munasoni w’i Shipure, umwigishwa wo mu ntango. 17 Dushitse i Yeruzalemu+, abavukanyi batwakirana urweze+. 18 Mugabo ku musi ukurikira Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo+; kandi abagabo b’inararibonye bose ni ho bari. 19 Nuko arabaramutsa, atangura kubiganira ido n’ido inkuru+ y’ibintu Imana yakoreye mu mahanga biciye ku busuku bwiwe+.

20 Aho bavyumviye batangura kuninahaza Imana, bamubwira bati: “Urabona, mwene wacu, ibihumbi vy’abemera biri mu Bayuda ingene bingana; kandi bose barafitiye umwete Itegeko+. 21 Mugabo barumvise urukurukuru kuri wewe yuko umaze igihe wigisha Abayuda bose mu mahanga ubuhuni ku bijanye na Musa+, ubabwira kutagenyera+ abana babo no kutagendera mu migenzo yashinzwe. 22 None hakorwe iki kuri ivyo? Uko biri kwose, baraza kwumva ko washitse. 23 Kora rero ibi tukubwiye: Turafise abagabo bane bariko indagano. 24 Jana abo bagabo+ wihumanurane na bo nk’uko bisabwa wongere urihe ivyo basohora+, kugira ngo imitwe yabo imobwe+. Ni ho bose bazomenya yuko urukurukuru bakwumviseko ata co ruvuze, ahubwo ko ugendera ku rutonde, wewe ubwawe ukagumya Itegeko+. 25 Nayo ku vyerekeye abemera bo mu mahanga, twarafashe ingingo yacu, turaheza turayirungika, yuko bakwiye kuguma birinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, n’amaraso+, n’ibinizwe+ be n’ubusambanyi+.”

26 Maze Paulo ajana nya bagabo bukeye, hanyuma arihumanurana na bo nk’uko bisabwa+ araheza yinjira mu rusengero, kugira amenyeshe imisi ikwiye kurangira+ ku bw’ukwo guhumanurwa kwashinzwe, gushika ishikanwa+ ritangiwe umwe wese muri bo+.

27 Maze ya misi indwi+ iri mu kurangira, Abayuda bo muri Aziya bamubonye mu rusengero batangura gutera umuvurungano mw’isinzi ryose+, baca bamushorerako amaboko, 28 basemerera bati: “Bagabo ba Isirayeli, tabara! Ng’uyu wa mugabo yigisha abantu bose ahantu hose ibirwanya iki gisata+ n’Itegeko n’aha hantu! Kandi uretse ivyo, yaraninjije Abagiriki mu rusengero, ahumanya aha hantu heranda+.” 29 Kuko imbere y’aho bari babonye Tirofimo+ Umunyefeso mu gisagara ari kumwe na we, mugabo biyumvira ko Paulo yari yamwinjije mu rusengero. 30 Igisagara cose kija mu ntureka+, abantu bariruka barundanira hamwe; bacakira Paulo bamuburutira inyuma y’urusengero+. Buno nyene imiryango ica irugarwa. 31 Igihe bariko barondera kumwica, amakuru ashikira umukomanda w’inteko yuko Yeruzalemu yose iri mu muvurungano+; 32 na we aca afata abasoda n’intwazangabo, yirukanga amanuka iyo bari+. Ngo babone nya mukomanda wa gisirikare+ na nya basoda, baca bareka gukubita Paulo.

33 Maze nya mukomanda aregera aramufata, ategeka yuko aboheshwa iminyororo ibiri+; atangura kubaza uwo ari we n’ico yari yakoze. 34 Mugabo bamwe muri nya sinzi batangura gusemerera bavuga ikintu kimwe, abandi ikindi+. Nuko rero, abonye ata kintu gitomoye amenye kubera uruhagarara, ategeka ko bamujana ku cicaro c’abasoda+. 35 Mugabo ashitse ku ngazi, ibintu bigera aho abasoda bamuterura bakamutwara kubera ubukazi bw’iryo sinzi; 36 kuko nya bantu indiri baguma bakurikira, basemerera bati: “Mukureho+!”

37 Hanyuma agira yinjizwe ku cicaro c’abasoda, Paulo abwira nya mukomanda ati: “Noba nemerewe kugira ico nkubwiye?” Na we ati: “Urazi ikigiriki? 38 Ubwo koko nturi wa Munyamisiri yatera umugumuko mu misi iheze+ akajana mu gahinga ba bagabo ibihumbi bine bitwaza intambi?” 39 Maze Paulo avuga ati: “Mu vy’ukuri ndi Umuyuda+ w’i Taruso+ muri Silisiya, umunyagihugu wo mu gisagara kitayoberanye. Ndakwinginze rero, unkundire ngire ico mbwira aba bantu.” 40 Amaze gutanga uruhusha, Paulo ahagaze ku ngazi agirira ikimenyetso+ abantu n’ukuboko abamāma. Hamaze kuba agacerere kenshi, abashikiriza ijambo mu rurimi rw’igiheburayo+, ati:

22 “Bagabo, bene wacu+ na ba data, nimwumve rero ukwiregura kwanje+ imbere yanyu.” 2 (Erega, bumvise ariko ababwira mu rurimi rw’igiheburayo+, bose barushiriza gucereza, avuga ati:) 3 “Jewe ndi Umuyuda+, navukiye i Taruso h’i Silisiya+, mugabo nigishirijwe muri iki gisagara imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli+, nigishwa nk’uko biri mw’Itegeko rya ba sogokuruza ata guca ku ruhande+, ngirira umwete+ Imana nk’uko mwese mumeze uno musi. 4 Kandi narahama iyi Nzira gushika ku rupfu+, nkaboha nkongera ngatanga ku mabohero+ abagabo n’abagore, 5 nk’uko umuherezi mukuru n’ikoraniro ryose ry’abagabo b’inararibonye+ bashobora kunshingira intahe. Narakuye kandi kuri bo amakete+ yo kujana kuri bene wacu i Damasiko, kandi nari ku nzira ngiye gutora n’abariyo ngo ndabazane i Yeruzalemu baboshe kugira ngo bahanwe.

6 “Mugabo ndi ku rugendo nkegereza i Damasiko, nko ku mutaga, bukwi na bukwi umuco mwinshi uvuye mw’ijuru undabiriza irya n’ino+, 7 nca ngwa hasi, numva ijwi rimbwira riti: ‘Sauli, Sauli, umpamira iki+?’ 8 Nishura nti: ‘Uri nde ga Mukama?’ Na we ambwira ati: ‘Ndi Yezu Umunyanazareti, uwo uriko urahama+.’ 9 Ico gihe abantu bari kumwe nanje+ barabona koko nya muco, mugabo ntibumva ijwi ry’uwariko arambwira+. 10 Kuri ivyo ndavuga nti: ‘Nkore iki+ ga Mukama?’ Umukama ambwira ati: ‘Haguruka, winjire i Damasiko, ng’aho uzobwirwa ivyo ugenewe gukora vyose+.’ 11 Mugabo kubera ntashobora kubona ikintu na kimwe bitumwe n’ubukayangane bw’uwo muco, nshika i Damasiko, mfashwe ukuboko n’abari kumwe nanje+.

12 “Maze Ananiya, umugabo yatinya Imana nk’uko Itegeko ryari, akaba yavugwa neza+ n’Abayuda bose bahaba, 13 aza aho ndi, ahagarara iruhande yanje, ambwira ati: ‘Sauli, mwene wacu, subira ubone+!’ Nca ndaramura amaso ndamuraba iyo saha nyene. 14 Avuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza bacu+ yagutoreye+ kumenya ukugomba kwayo, no kubona+ wa Mugororotsi+, no kwumva ijwi ry’akanwa kiwe+, 15 kubera ko utegerezwa kumubera icabona ku bantu bose c’ivyo wabonye kandi wumvise+. 16 None utebejwe n’iki? Haguruka, ubatizwe+, wiyoze+ ibicumuro vyawe mu kwambaza izina ryiwe+.’

17 “Mugabo aho mariye gusubira i Yeruzalemu+, ndiko ndasenga mu rusengero, mba nk’uwutwawe n’indoto+ 18 maze ndamubona ambwira ati: ‘Nyarutsa usohoke uve i Yeruzalemu ningoga, kuko batazokwemera+ intahe unshingira.’ 19 Nanje ndavuga nti: ‘Mukama, ubwabo barazi neza yuko nahora nta mw’ibohero+ abakwemera kandi nkabatonagurira mw’isinagogi no mu yindi+; 20 kandi igihe amaraso ya Sitefano+ icabona cawe yariko aravishwa, na jewe nari mpagaze ng’aho ndabishigikiye+ nongera ndinda impuzu zo hejuru z’abariko baramwica.’ 21 Yamara ambwira ati: ‘Genda, kuko nzogutuma ku mahanga kure cane+.’”

22 Buno baguma bamwumviriza gushika kuri iryo jambo, hanyuma bashira amajwi hejuru, bavuga bati: “Kura umuntu mwene uyo kw’isi, kuko atari akwiriye kubaho+!” 23 Kandi kubera bariko basemerera bongera batagaguza impuzu zabo zo hejuru bagasurira n’umukungugu mu kirere+, 24 wa mukomanda wa gisirikare ategeka ko yinjizwa ahari icicaro c’abasoda, avuga kandi yuko akwiye gusambishwa hariko n’ugushishagurwa, kugira ngo amenye neza igituma bariko basemerera+ bamwiyamiriza muri ubwo buryo. 25 Mugabo aho bamariye kumuramvura kugira ngo akubitwe, Paulo abwira intwazangabo yari ihagaze ng’aho ati: “Mbega muremererwa gushishagura umuntu w’Umuroma+ kandi ata rubanza rwamutsinze?” 26 Erega nya ntwazangabo ngo ivyumve, ija kwa wa mukomanda irabimumenyesha, iti: “Ugira ukore iki? Erega uyu muntu ni Umuroma.” 27 Nuko wa mukomanda aregera, amubwira ati: “Mbwira: Uri Umuroma+?” Na we ati: “Egome.” 28 Nya mukomanda asubizayo ati: “Jewe ubwo burenganzira bwo kuba umwenegihugu nabuguze amahera menshi.” Paulo avuga ati: “Mugabo jewe nabuvukiyemwo+.”

29 Buno nyene rero, nya bantu bagira bamusambishe hariko no kumusinzikariza ubuzima baramureka baragenda; nya mukomanda aca agira ubwoba aho amenyeye neza yuko ari Umuroma+ kandi akaba yari yamuboshe.

30 Bukeye rero, kubera ko yipfuza kumenya neza igituma yariko aragirizwa n’Abayuda, aramubohora, ategeka abakuru b’abaherezi n’Inama Nkuru yose gukorana. Hanyuma amanukana Paulo, amuhagarika hagati yabo+.

23 Paulo ashinga ijisho Inama Nkuru, avuga ati: “Bagabo, bene wacu, nagendeye imbere y’Imana mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi na gato+ gushika uno musi.” 2 Umuherezi mukuru Ananiya aca ategeka abahagaze iruhande yiwe kumukubita+ ku munwa. 3 Maze Paulo amubwira ati: “Imana igiye kugukubita, wa ruhome rusizwe ishwagara+. Wewe wicaritswe no kuncira urubanza hisunzwe Itegeko+, hanyuma urenge nya Tegeko+, utegeke ngo bankubite?” 4 Abahagaze ng’aho bavuga bati: “Uratuka umuherezi mukuru w’Imana?” 5 Paulo na we avuga ati: “Bene wacu, sinari nzi ko ari umuherezi mukuru. Kuko vyanditswe ngo: ‘Ntukavuge nabi umutware w’igisata cawe+.’”

6 Buno Paulo abonye yuko igice kimwe ari Abasadukayo+ mugabo ikindi kikaba Abafarizayo, arasemerera mu Nama Nkuru ati: “Bagabo, bene wacu, jewe ndi Umufarizayo+, umwana w’Abafarizayo. Icizigiro c’izuka+ ry’abapfuye ni co ndiko ncirwako urubanza+.” 7 Avuze ivyo, havyuka ugucanamwo+ hagati y’Abafarizayo n’Abasadukayo, nya bantu indiri bicamwo imigwi. 8 Kuko Abasadukayo+ bavuga ko ata zuka+ canke umumarayika canke impwemu bibaho, mugabo Abafarizayo bo bakavyatura icese vyose. 9 Nuko havyuka induru ikomeye+, hanyuma bamwe mu banditsi bo mu mugambwe w’Abafarizayo barahaguruka batangura kuja impaka bimwe bikaze, bavuga bati: “Nta kibi na kimwe tubona muri uyu muntu+; mugabo nimba impwemu canke umumarayika vyavuganye na we+...” 10 Maze aho nya gucanamwo gukomereye, wa mukomanda wa gisirikare atinya yuko Paulo bohava bamutabagura, aca ategeka inteko z’abasoda+ kumanuka zikamushikura hagati yabo zikamuzana ku cicaro c’abasoda+.

11 Mugabo ijoro rikurikira, Umukama ahagarara iruhande yiwe+, avuga ati: “Gira umutima rugabo+! Kuko nk’uko umaze igihe ushinga intahe inogangije+ ku binyerekeye i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma+.”

12 Maze bukeye, Abayuda baja umugambi mubi+, bararahira barisiba+ yuko batoriye canke ngo banywe batishe Paulo+. 13 Abantu barenga mirongo ine ni bo bagiye uwo mugambi mubi bashizeko n’indahiro; 14 hanyuma baja ku bakuru+ b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye, bavuga bati: “Twarahiye turisiba dushimitse yuko ata dufungurwa na dukeyi tugeza mu kanwa tutishe Paulo. 15 Ubu rero, mwebwe hamwe n’Inama Nkuru nimwumvishe komanda igituma akwiye kumubamanukanira nk’aho mwoba mushaka kumenya neza ivyiwe+. Mugabo imbere y’uko yegera tuzoba twiteguriye kumwica+.”

16 Ariko rero, umuhungu wa mushiki wa Paulo yumva ivy’uwo mutego wabo+, aca araza, yinjira ahari icicaro c’abasoda, abimenyesha Paulo. 17 Nuko Paulo ahamagara umwe mu ntwazangabo, avuga ati: “Jana uyu musore kwa komanda, kuko ari n’ikintu amumenyesha.” 18 Nuko uwo mugabo aramufata amujana kwa komanda, avuga ati: “Ya mbohe Paulo yampamagaye ansaba kukuzanira uyu musore, kuko ari n’ico akubwira.” 19 Nya mukomanda amufata+ ukuboko aragenda, atangura kumubaza mu mwiherero ati: “Ikintu ushaka kumenyesha ni igiki?” 20 Avuga ati: “Abayuda bumvikanye kugusaba kumanukana Paulo mu Nama Nkuru ejo nk’aho boba bashaka kumenya neza ivyiwe+. 21 Na canecane, ntureke ngo bakwumvishe unyurwe, kuko abagabo barenga mirongo ine bo muri bo bamureretse+, kandi barahiye barisiba yuko batazogenda bariye canke ngo banywe batamwishe+; kandi ubu biteguye, barindiriye ico ubemerera.” 22 Nuko nya mukomanda arareka nya musore aragenda amaze kumutegeka ati: “Ntihagire uwo ukerukiriza yuko wamenyesheje ivyo bintu.”

23 Hanyuma atumako babiri mu ntwazangabo, avuga ati: “Tegura abasoda amajana abiri bo kugenda gushika i Sezariya, hamwe n’abagabo mirongo irindwi bagendera ku mafarasi be n’abagabo amajana abiri bitwaza amacumu, kw’isaha ya gatatu y’ijoro. 24 Vyongeye, tanga n’ibitwazi kugira burizeko Paulo bamujane ata nkomanzi kwa Felisi buramatari.” 25 Araheza yandika ikete rimeze uku:

26 “Kolode Lisiyasi, kuri Nyakwubahwa Buramatari Felisi+: Ndabaramukije! 27 Uyu mugabo yafashwe n’Abayuda, bakaba bagira bamukureho, mugabo naciye buno nyene nzanana n’inteko z’abasoda ndamutabara+, kuko numvise ko ari Umuroma+. 28 Kandi kubera nashaka kumenya neza ico bamwagiriza, naramumanukanye mu Nama Nkuru yabo+. 29 Nasanze yagirizwa ibijanye n’ibibazo vy’Itegeko ryabo+, mugabo nta kintu na kimwe aregwa gikwiriye kumwicisha canke kumushirisha mu mvuto+. 30 Mugabo kubera yuko namenyeshejwe umugambi mubi+ yagiriwe, nciye ndamukurungikira, nongera ntegeka abamwagiriza ko bomwagiririza imbere yawe+.”

31 Abo basoda+ rero bafata Paulo nk’uko amategeko bahawe ari, bamutwara mw’ijoro i Antipatiri. 32 Bukeye, barareka abagendera ku mafarasi baba ari bo bajana na we, na bo basubira ku cicaro c’abasoda. 33 Nya bantu bagendera ku mafarasi binjira i Sezariya+, baha buramatari rya kete bongera bamushikiriza Paulo. 34 Nuko ararisoma hanyuma abaza intara yavamwo, araheza amenya neza+ yuko yari uw’i Silisiya+. 35 Avuga ati: “Nzokwumviriza neza abakwagiriza na bo nibamara gushika+.” Aca ategeka yuko bamucungira mu kirimba c’umwami Herodi.

24 Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya+ amanukana n’abagabo b’inararibonye bakeyi hamwe n’umuntu azi kuvugira imbere y’abantu, uwitwa Teritulo, hanyuma barega+ Paulo kuri buramatari+. 2 Ahamagawe, Teritulo atangura kumwagiriza, ati:

“Kubera ko dufise amahoro menshi+ biciye kuri wewe be n’uko hari ibiriko biratunganywa busha muri iri hanga biciye ku gutegekanya ibintu kwawe, 3 mu bihe vyose n’ahantu hose turavyakirana ugukenguruka kwinshi, Nyakwubahwa+ Felisi. 4 Mugabo kugira singufatire cane, ndakwinginze utwumve gatoyi mu kumera neza kwawe. 5 Kuko twasanze uyu mugabo ari ikiza+, avyura imigumuko+ mu Bayuda bose kw’isi yose, akaba na kizigenza w’umuce w’idini w’Abanyanazareti+, 6 akaba kandi ari umuntu yagerageje guhumanya urusengero+, tukaba twamufashe. 7* —— 8 Wewe ubwawe mu kumusambisha urashobora kumenya ivy’ivyo vyose tumwagiriza avyivugiye.”

9 Kuri ivyo Abayuda na bo nyene biyunga kuri ico gitero, bemeza yuko ivyo ari ko biri. 10 Paulo na we, aho buramatari amuhereye ikimenyetso akoresheje umutwe mu kumwemerera kuvuga, yishura ati:

“Kubera nzi neza yuko umaze imyaka myinshi uri umucamanza w’iri hanga, bitumye mvuga ivyanje ata ngorane mu kwiregura+, 11 narirya wewe ushoboye kumenya yuko kuri jewe ata misi irenze cumi n’ibiri irahaca kuva nduze gusenga+ i Yeruzalemu; 12 kandi ntibansanze mu rusengero+ ndiko mparira n’umuntu n’umwe canke ntera akagwi+ guhundara hamwe, haba mu masinagogi canke mu gisagara hose. 13 Eka ntibashobora no kwemeza+ imbere yawe ivyo banyagiriza ubu nyene. 14 Mugabo ico nkwemereye coco ni iki: nk’uko ya nzira bita ‘umuce w’idini’ iri, ni ko ndiko nkorera Imana ya ba sogokuruza banje igikorwa ceranda+, nk’uko nemera ibintu vyose biri mw’Itegeko+ kandi vyanditswe mu Bahanuzi; 15 kandi ndafise icizigiro+ ku Mana, ari na co cizigiro aba na bo nyene bafise, yuko hagiye kubaho izuka+ ry’abagororotsi+ n’abatari abagororotsi+. 16 Muri ivyo koko ni ho ndiko nihata ubudahengeshanya ngo ngire ijwi ryo mu mutima+ rimbwira ko ata kibi ndiko nkorera Imana n’abantu. 17 Nuko haciye imyaka itari mike ndashika kugira ngo nzanire ihanga ryanje imfashanyo y’aboro, n’amashikanwa+. 18 Igihe nari kuri ivyo, bansanze mu rusengero mpumanuwe nk’uko bisabwa+, mugabo ata sinzi canke uruhagarara. Mugabo hari Abayuda bamwe bo mu ntara ya Aziya 19 bari bakwiye kuba bahari imbere yawe bakanyagiriza nimba hoba hari ico bandega+. 20 Canke na ho, abari ng’aha nibivugire ubwabo ikibi babonye igihe nari mpagaze imbere y’Inama Nkuru, 21 atari iri jambo rimwe nasemereye mpagaze muri bo, nti: ‘Izuka ry’abapfuye ni ryo ndiko ncirwako urubanza uno musi imbere yanyu+.’”

22 Ariko Felisi+, kubera yari azi neza ivy’iyo Nzira+, ashira abo bantu ku kindi gihe, avuga ati: “Aho Lisiyasi+ komanda wa gisirikare azomanukira hose, nzofata ingingo kuri ivyo bintu biberekeye.” 23 Hanyuma ategeka intwazangabo yuko uwo muntu aguma acunzwe mugabo agatezurirwa gatoyi mu kubohwa kwiwe, be n’uko atobuza umuntu n’umwe mu biwe kumukorera+.

24 Haciye imisi mikeyi Felisi+ arashika ari kumwe na Durusila umugore wiwe, akaba yari Umuyudakazi+, hanyuma atumako Paulo maze aramwumviriza ku bijanye n’ukwemera Kristu Yezu+. 25 Mugabo avuze ibijanye n’ubugororotsi+ n’ukwigumya+ be n’ivy’uguca imanza+ kuzoza, Felisi agira ubwoba, yishura ati: “Ubu nugende, mugabo ninaronka umwanya ubereye nzosubira ngutumeko.” 26 Ariko ico gihe nyene yari yizigiye ko Paulo amuha amahera+. Ni co catumye anarushirizaho kumutumako kenshi, akayaga na we+. 27 Mugabo haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porusiyo Fesito; hanyuma kubera ko Felisi yipfuza kwitonesha+ ku Bayuda, asiga Paulo aboshwe.

25 Fesito rero, amaze gushikira+ amabanga yo gutwara intara, haciye imisi itatu aduga i Yeruzalemu avuye i Sezariya+; 2 hanyuma abakuru b’abaherezi n’abantu bakurubakuru bo mu Bayuda barega+ Paulo kuri we. Nuko batangura kumwinginga, 3 bisabira ku vy’uwo mugabo ko yobagirira ubutoni akamutumako ngo aze i Yeruzalemu, kuko bari bateze umutego+ ngo bamwice mu nzira. 4 Ariko Fesito yishura yuko Paulo yari kuguma acungiwe i Sezariya be n’uko we ubwiwe yagira ajeyo vuba. 5 Avuga ati: “Ku bw’ivyo rero, abakuru bo muri mwebwe nibamanukane nanje bamwagirize+, nimba hari ikintu kitabereye kuri uwo mugabo.”

6 Nuko amaze imisi itarenga umunani canke cumi muri bo, amanuka i Sezariya, hanyuma bukeye yicara ku ntebe y’imanza+, ategeka ko bazana Paulo. 7 Ashitse, Abayuda bari bamanutse bavuye i Yeruzalemu bahagarara bamukikuje, bamurega ibirego vyinshi kandi bikomakomeye+ batashobora kwerekanira ibimenyamenya.

8 Mugabo Paulo mu kwiregura avuga ati: “Nta gicumuro na kimwe nakoze+ haba kw’Itegeko ry’Abayuda canke ku rusengero+ canke kuri Sezari.” 9 Fesito ashaka kwitonesha+ ku Bayuda, aca yishura Paulo ati: “Woba ushaka kuduga i Yeruzalemu ukaba ari ho ucirirwa urubanza imbere yanje kuri ivyo bintu+?” 10 Mugabo Paulo avuga ati: “Mpagaze imbere y’intebe y’imanza ya Sezari+, aho mbwirizwa gucirwa urubanza. Nta kibi na kimwe nakoreye Abayuda+, nk’uko na wewe uvyibonera neza. 11 Nimba ndi inkozi y’ikibi koko+ hakaba kandi hari ikintu nakoze gikwiriye kunyicisha+, sinanse gupfa; ariko nimba mu vyo aba banyagiriza ata na kimwe kihari, nta n’umwe ashobora kuntanga kuri bo kugira ngo abanezereze. Nungururije kwa Sezari+!” 12 Maze Fesito, amaze kuvugana n’ikoraniro ry’abajanama, yishura ati: “Kwa Sezari ni ho wungururije; kwa Sezari ni ho uzoja.”

13 Haciye imisi mikeyi, Agiripa umwami na Berenise bashika i Sezariya mu rugendo rwo kuramutsa Fesito. 14 Nuko, bariko barahamara imisi itari mike, Fesito ashira imbere y’umwami ikibazo ca Paulo, ati:

“Hari umugabo umwe Felisi yasize ari imbohe, 15 kandi igihe nari i Yeruzalemu abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye bo mu Bayuda baramureze+, basaba yuko yokubitwa intahe mu gahanga. 16 Mugabo nabishuye yuko atari ko bisanzwe bigenda mu Baroma gutanga umuntu kugira ngo abantu banezerwe, imbere y’uko uwagirizwa ahura amaso mu yandi n’abamwagiriza+, akaronka akaryo ko kwiregura ku vyo aregwa. 17 Aho bamariye rero gukoranira hamwe ng’aha, sinatebaganye, ahubwo ku musi ukurikira naciye nicara ku ntebe y’imanza, ntegeka ko bazana nya mugabo. 18 Aho abagiriji bahagurukiye, nta kirego na kimwe bashikirije+ c’ibintu bibi nari namwiyumviriyeko. 19 Bari bafitaniye gusa impari ku vyerekeye ugusenga+ ibimana kwabo no ku vyerekeye uwitwa Yezu yari yarapfuye mugabo Paulo akaguma yemeza ko ari muzima+. 20 Nuko, nzazaniwe na nya bihari vyabaye kuri ivyo bintu, ndamubaza nimba yoshima kuja i Yeruzalemu akaba ari ho acirwa urubanza kuri ivyo bintu+. 21 Mugabo aho Paulo yungururije+ agasaba kuguma acunzwe arindiriye ingingo ifatwa na Nyeningoma, nategetse ko aguma acunzwe gushika ndamurungike kwa Sezari.”

22 Nuko Agiripa abwira Fesito ati: “Na jewe noshima kwumva uyo muntu+.” Na we avuga ati: “Ejo uzomwumva.” 23 Bukeye rero, Agiripa na Berenise bazanana ukwiyerekana kw’agatangaza kwa cane+, hanyuma binjira mw’iyumviririzo ry’imanza bari kumwe n’abakomanda ba gisirikare hamwe n’abagabo bubahwa bo mu gisagara, maze Fesito atanze itegeko, bazana Paulo. 24 Fesito avuga ati: “Mwami Agiripa namwe mwese muri kumwe natwe ng’aha, murabona uyu mugabo Abayuda indiri bose hamwe banyituyeko i Yeruzalemu n’ino ku bimwerekeye, basemerera ngo ntiyari akwiye kubandanya kubaho+. 25 Mugabo nabonye ko ata kintu na kimwe yari yakoze gikwiriye kumwicisha+. Aho rero uyu mugabo ubwiwe yungururije+ kwa Nyeningoma, nafashe ingingo yo kumurungika. 26 Mugabo ku bimwerekeye nta kintu na kimwe mfise gitomoye co kwandikira Umukama wanje. Ni co gituma namuzanye imbere yanyu, na canecane imbere yawe, Mwami Agiripa, kugira ngo isambishwa niryamara kuba+, ndonke ico nandika. 27 Kuko bisa n’ibitumvikana kuri jewe kurungika imbohe sinerekane n’ibirego iregwa.”

26 Agiripa+ abwira Paulo ati: “Uremerewe kwiburanira.” Maze Paulo aramvura ukuboko+, atangura kwiregura+ ati:

2 “Ku bintu vyose nagirizwa+ n’Abayuda, Mwami Agiripa, mbona ko mpiriwe kubona imbere yawe ari ho ngiye kwiregurira uno musi, 3 canecane ko uri umuhanga mu vy’imigenzo yose+ n’impari vyo mu Bayuda. Ndakwinginze rero unyumvirize wihanganye.

4 “Nkako, ku bijanye n’uburyo nabayeho+ kuva mu buto guhera mu ntango mw’ihanga ryanje n’i Yeruzalemu, Abayuda bose 5 banzi kuva mu ntango, nimba bashaka koko kubishingira intahe, barazi yuko nabayeho ndi Umufarizayo+ nk’uko umuce w’idini usumvya iyindi gukavya+ wo mu nsengo yacu uri. 6 Yamara ubu ku bw’icizigiro+ c’umuhango+ Imana yahaye ba sogokuruza bacu, ndarengukijwe mu rubanza; 7 mugabo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigiye gushikira iranguka ry’uyo muhango mu kuyikorera igikorwa ceranda n’umwete mwinshi ijoro n’umurango+. Ku vy’ico cizigiro ni ho nagirizwa+ n’Abayuda, ewe mwami!

8 “Kubera iki bibonwa nk’ibitokwemerwa muri mwebwe yuko Imana izura abapfuye+? 9 Jeho nari nahoze vy’ukuri niyumvira muri jewe ko nabwirizwa gukora ibikorwa vyinshi vyo kurwanya izina rya Yezu Umunyanazareti; 10 ni na vyo nakoze i Yeruzalemu, kandi benshi mu beranda narabugaraniye mu mabohero+, kuko nari nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi+; kandi igihe baba babwirizwa kwicwa, natanga ijwi ryo kubishigikira. 11 Kandi mu kubahana kenshi mu masinagogi yose+ naragerageza kubahata ngo bihakane ukwizera; kandi kubera ko nari nasaze bimwe birengeje mu kubanka, naraheba nkabahama no mu bisagara vyo hanze.

12 “Muri utwo twigoro, igihe nari ku rugendo nja i Damasiko+ mfise ububasha n’igikorwa nahawe n’abakuru b’abaherezi, 13 narabonye ku mutaga ku nzira, ewe mwami, umuco urusha izuba gukayangana uravya uvuye mw’ijuru, urabiriza irya n’ino yanje n’irya n’ino y’abari bafatanije nanje urugendo+. 14 Twese tumaze kugwa hasi, numva ijwi rimbwira mu rurimi rw’igiheburayo riti: ‘Sauli, Sauli, umpamira iki? Erega kuguma utera imigere ku mihunda birakugirira nabi+.’ 15 Mugabo mvuga nti: ‘Uri nde ga Mukama?’ Umukama na we ati: ‘Ndi Yezu, uwo uriko urahama+. 16 Yamara rero, haguruka uhagarare ku birenge vyawe+. Kuko iki ari co nkwiyerekeye, kugira ngo ndagutore ube umusuku n’icabona+ c’ivyo wabonye n’ivyo nzokwereka ku binyerekeye; 17 kandi nzokurokora ngukize iki gisata n’amahanga, ivyo ngutumyeko+, 18 ngo uhumure amaso yabo+, ngo ubahindukize bave mu mwiza+ baje ku muco+, kandi ngo bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira ngo baronke ukubabarirwa ibicumuro+ be n’intoranwa+ mu bejejwe+ n’ukunyizera.’

19 “Ni co gituma, Mwami Agiripa, ntagambarariye ivyo bintu nabonye bivuye mw’ijuru+, 20 mugabo mpereye ku bantu b’i Damasiko+ no ku b’i Yeruzalemu+, no ku gihugu cose ca Yudaya, no ku mahanga+, nagenda njana ubutumwa bw’uko bakwiye kwigaya, bagahindukirira Imana mu gukora ibikorwa bikwiranye n’ukwigaya+. 21 Ivyo ni vyo vyatumye Abayuda bamfata mu rusengero bakagerageza kungandagura+. 22 Ariko kubera yuko naronse imfashanyo+ iva ku Mana ndabandanya kugeza uno musi gushinga intahe ku bato no ku bahambaye, mugabo ata kindi mvuga atari ivyo Abahanuzi+ be na Musa+ bavuze ko vyari bigiye kuba, 23 yuko Kristu yabwirizwa kubabazwa+, kandi ko mu kuba uwa mbere mu kuzurwa+ mu bapfuye, yari agiye kwamamaza umuco+ kuri iki gisata no ku mahanga+.”

24 Akiriko aravuga ivyo bintu mu kwiregura, Fesito avuga n’ijwi rirenga ati: “Erega Paulo urasaze+! Ukwiga kwa cane kuriko kuragusaza!” 25 Mugabo Paulo avuga ati: “Sinsaze, Nyakwubahwa Fesito, ahubwo ndiko mvuga amajambo y’ukuri n’ay’ukurorana kw’umuzirikanyi. 26 Mu vy’ukuri, umwami ndiko ndabwirana umwidegemvyo wo kuvuga arazi neza ivyo bintu; kuko nanyuzwe ko ata na kimwe muri ivyo kimucika, kuko ivyo bintu bitakorewe mu mfuruka+. 27 Mbega Mwami Agiripa, uremera Abahanuzi? Ndazi ko ubemera+.” 28 Mugabo Agiripa abwira Paulo ati: “Mu mwanya mutoyi wotuma nyurwa ngacika umukirisu.” 29 Kuri ivyo Paulo avuga ati: “Ico nsaba Imana ni uko haba mu mwanya mutoyi canke mu mwanya muremure atoba wewe gusa ahubwo ko n’abo bose banyumva uno musi bocika abameze nk’uko nanje ndi, havuyemwo izi mvuto.”

30 Nuko umwami arahaguruka, na buramatari na Berenise be n’abari bicaranye na bo. 31 Mugabo bahavuye, batangura kuvugana, bati: “Uyu muntu nta kintu na kimwe akora gikwiriye kumwicisha+ canke kumushirisha mu mvuto.” 32 Vyongeye, Agiripa abwira Fesito ati: “Uyu muntu yari kurekurwa iyo ataba yungururije+ kwa Sezari.”

27 Maze aho hafatiwe ingingo y’uko dufata ubwato tukaja mu Butaliyano+, Paulo n’izindi mbohe bashikirizwa intwazangabo yitwa Yuliyo yo mu nteko za Ogusito. 2 Twuriye ubwato bw’i Aduramutiyo bwagira buje mu turere two ku nkengera y’intara ya Aziya, turagenda, turi kumwe na Arisitariko+ Umunyamakedoniya w’i Tesalonika. 3 Ku musi ukurikira dushika i Sidoni, maze Yuliyo afatana ubuntu Paulo+ hanyuma aramwemerera kuja ku bagenzi biwe, akitwararikwa na bo+.

4 Nuko dufata ikiyaga tuvuye ng’aho tugenda twikinze Shipure, kubera ko imiyaga yaturuka imbere; 5 hanyuma tugendera ku mazi duciye mw’igezi ry’ikiyaga iruhande ya Silisiya na Pamfiliya, maze duhagarara ku kivuko c’i Mira muri Lisiya. 6 Mugabo ng’aho ya ntwazangabo ibona ubwato bw’i Alegizandiriya+ bwari bugiye mu Butaliyano, iraheza irabutwuriza. 7 Maze, haciye imisi itari mike tugenda bukebuke tugashika i Kinido bigoranye, kuko umuyaga utadukundiye kubandanya, tugenda twikinze Kirete i Salumone, 8 tugendera hafi y’inkengera yaho bigoranye, dushika ahantu hamwe hitwa Bivuko Vyiza, hafi yaho hakaba hari igisagara Laseya.

9 Kubera ko hari haciye igihe kitari gito kandi ico gihe kugendera ku mazi bikaba vyarimwo akaga kuko n’ukwisonzesha kw’umusi w’impongano*+ kwari kwamaze kurengana, Paulo atanga iciyumviro, 10 ababwira ati: “Bagabo, ndabona yuko kugendera ku mazi biza kubamwo ivyago n’uruhombo rukomeye atari ku mizigo n’ubwato gusa ariko no ku buzima bwacu+.” 11 Ariko ya ntwazangabo yumvira uwutwara imeri na nyeneyo aho kwumvira ibivuzwe na Paulo. 12 Maze kubera ko kuri nya kivuko hari hagoye kumara urushana, abenshi batanga iciyumviro co kuhava, kugira ngo barabe ko hari ukuntu boshika i Feniki habe ari ho bamara urushana, kikaba ari ikivuko c’i Kirete kiraba mu buraruko bushira ubuseruko no mu bumanuko bushira ubuseruko.

13 Vyongeye, aho umuyaga wo mu bumanuko uhuhutiye bukebuke, biyumvira yuko ari nk’aho bari bamaze gushika ku ntumbero yabo, baraheza bakutsa inanga, hanyuma bagendera hafi y’inkengera ya Kirete. 14 Ariko haciye akanya, umuyaga w’igihuhusi+ witwa Ewurakiloni wisuka kuri iryo zinga. 15 Kubera ko ubwato bwari bwafashwe n’umuyaga bimwe bikaze bukaba butari bushoboye kuguma buhanganye n’umuyaga, twararetse uratujana. 16 Nuko turanyaragasa twikinze izinga ritoyi ryitwa Kawuda, yamara tuja gushobora kugumya akato ko kwifashisha+ kari kw’itenzi* bigoranye. 17 Mugabo bamaze kukuriza batangura gukoresha imigozi kugira ngo badade nya bwato munsi; kandi kubera gutinya guseka ubwato ku bidunduri vy’imisenyi vyitwa Siriti, bamanura ibifashe ihema maze babona kujanwa n’umuyaga. 18 Yamara kubera ko twariko tuzungazungishwa n’igihuhusi bimwe bikaze, ku musi ukurikira batangura kuremurura+ imeri; 19 ku musi ugira gatatu, bata ibikoresho vy’ubwato n’amaboko yabo bwite.

20 Haciye imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri biboneka, n’igihuhusi+ cari kuri twebwe kikaba kitari gike, amaherezo icizigiro cacu cose co gukira gitangura kuvaho. 21 Haciye igihe kirekire birinda ibifungurwa, Paulo araheza ahagarara hagati muri bo+, avuga ati: “Bagabo, mwari kuba mwumviye impanuro yanje ntimufate ikiyaga muvuye i Kirete ngo mugire ibi vyago n’uru ruhombo+. 22 Naho ari ukwo, ubu ndabasavye mureme, kuko ata muntu n’umwe muri mwebwe azohasigara, atari ubwato gusa. 23 Kuko muri iri joro iruhande yanje hahagaze umumarayika+ w’Imana negukira, ari na yo nkorera igikorwa ceranda+, 24 avuga ati: ‘Ntutinye, Paulo. Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari+, kandi ehe Imana yaguhaye ata kangonongono abo muri kumwe mu bwato bose.’ 25 Nimureme rero, mwa bagabo; kuko nemera Imana+ yuko biza kuba nk’uko nabibwiwe. 26 Ariko dutegerezwa gusukwa i musozi kw’izinga kanaka+.”

27 Maze ijoro rigira cumi na kane rigeze, tukaba twariko tuzungazungishwa tujanwa irya n’ino ku kiyaga ca Adiriya, mu gicugu abasoza batangura kwicura yuko begereje isi kanaka. 28 Bagera uburebure bw’amazi, basanga ni ibipimo* mirongo ibiri; nuko bigira imbere gatoyi, bongera kugera basanga ni ibipimo cumi na bitanu. 29 Maze kubera ugutinya ko twohava dusukwa ahantu ku bitandara, bakorora inanga zine bacishije kw’itenzi, batangura kwipfuza ko bwoca. 30 Mugabo aho abasoza batanguriye kurondera guhunga ngo bave mu bwato, bakamanurira ka kato mu kiyaga bitwaje yuko bashaka gukorora inanga bacishije ku mpanza*, 31 Paulo abwira ya ntwazangabo n’abasoda ati: “Aba bantu batagumye mu bwato, ntimushobora gukira+.” 32 Maze nya basoda baca imigozi ya ka kato+, barakareka karakoroka.

33 Maze buri mu guca, Paulo atangura kubaremesha bose uko bangana gutamira udufungurwa, ati: “Uno musi ubaye uwugira cumi na kane muri maso kandi mukaba muguma ata dufungurwa mukoza ku munwa, ata co mutamira. 34 Ndabaremesheje rero gutamira udufungurwa, kuko ari ku bw’umutekano wanyu; kuko ata n’agashatsi+ ko ku mutwe w’umwe muri mwebwe kazovako.” 35 Amaze kuvuga ivyo, afata kandi umukate, akengurukira+ Imana imbere yabo bose, arawumanyura, atangura kurya. 36 Nuko bose bagira akamwemwe na bo ubwabo batangura gutamira udufungurwa. 37 Abari mu bwato twese hamwe rero, twari abantu amajana abiri na mirongo irindwi na batandatu. 38 Bamaze guhaga ibifungurwa, batangura kuremurura+ ubwato mu guta ingano mu kiyaga.

39 Amaherezo bukeye, ntibashobora kumenya nya si mugabo barabona akagobe kanaka gafise isesero, kuri ako haba ari ho biyemeza gushikana ubwato, baramutse babishoboye+. 40 Nuko, baca inanga, barazireka zigwa mu kiyaga, muri ico gihe nyene babohora imigozi y’ingafe, hanyuma bamaze kuduza ihema ry’imbere ku muyaga bagenda bagana isesero. 41 Aho batuzukiye ku kirundo c’umusenyi gihurirwako n’amazi y’ikiyaga ku mpande zose, batsita imeri hasi impanza ica iragoma, ntiyaba igikakaza, itenzi na ryo ritangura kumenagurika bimwe bikaze+. 42 Abasoda baca bafata ingingo yo kwica imbohe, kugira ngo ntihagire n’umwe yoga ngo atoroke. 43 Mugabo ya ntwazangabo ishaka gukiza Paulo, ibabuza intumbero yabo. Ica itegeka abashoboye kwoga ngo biterere mu kiyaga babanze bashike i musozi, 44 ngo n’abandi bagire gutyo, bamwe ku mbaho abandi ku bintu bimwebimwe vyari mu bwato. Bose babona gushika i musozi badora+.

28 Maze aho tumariye gushika ahatagira inkomanzi, duca tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita+. 2 Hanyuma abantu bavuga ururimi rw’urunyamahanga batugirira ubuntu bw’akataraboneka+, kuko baducaniye umuriro bongera baratwakira batugirira neza kubera imvura yariko iragwa no kubera ubukanye+. 3 Mugabo aho Paulo yegeranirije umukama w’inkwi akawushira ku muriro, hasokorokamwo imamba bivuye ku bushuhe, ica yibohera ku kuboko kwiwe. 4 Aho ba bantu bavuga ururimi rw’urunyamahanga baboneye nya kiremwa c’ubumara cenena ku kuboko kwiwe, batangura kubwirana bati: “Ni ukuri uyu muntu ni umwicanyi, kandi naho yashoboye gukira ikiyaga, ubutungane budaheranwa ntibwamwemereye kubandanya kubaho.” 5 Ariko akunkumurira mu muriro nya kiremwa c’ubumara, ntihagira ico aba+. 6 Mugabo bari biteze yuko avyimbagana canke akagwa bukumbi. Bamaze umwanya muremure barindiriye bakabona nta co abaye, bahindura ivyiyumviro batangura kuvuga yuko ari imana+.

7 Mu micungararo y’aho hantu, umuntu mukuru wo muri iryo zinga, uwitwa Pubiliyo, yari afise amatongo; aratwakira aduha indaro n’umutima mwiza imisi itatu. 8 Mugabo se wa Pubiliyo yari aryamye arembejwe n’inyonko n’amacinya, hanyuma Paulo yinjira iwe arasenga, amurambikako ibiganza+ aramukiza+. 9 Ivyo bibaye, abandi bantu bo kuri iryo zinga bari barwaye na bo nyene batangura kuza kuri we, barakizwa+. 10 Vyongeye baraduteye iteka mu kuduha ingabirano nyinshi, kandi tugiye badutekerera umukimba w’ibintu ku bw’ivyo twokenera.

11 Haciye amezi atatu, dufata ubwato bw’i Alegizandiriya+ bwari bumaze urushana muri nya zinga, bukaba bwariko igishusho co ku mpanza ca “Bene Zeyu.” 12 Hanyuma duhagarara ku kivuko i Sirakuza tuhaguma imisi itatu, 13 maze tuva ng’aho tugenda tuzinguka dushika i Regiyo. Haciye umusi, havumbuka umuyaga wo mu bumanuko, hanyuma twinjira i Puteyoli ku musi ugira kabiri. 14 Aho twahasanze bene wacu, hanyuma baratwinginga ngo tugumane imisi indwi; ukwo ni ko twaje tugana Roma. 15 Hanyuma kuva ng’aho, aho bene wacu bumviye inkuru yacu, baza kudusanganira gushika ku Kaguriro ka Apiyo n’ahitwa Uburaro Butatu, maze Paulo ababonye, akengurukira Imana, agira umutima rugabo+. 16 Aho amaherezo twinjiriye i Roma, Paulo yemererwa+ kuba ukwa wenyene ari kumwe n’umusoda amucunze.

17 Ariko haciye imisi itatu akoranya abantu bakurubakuru bo mu Bayuda. Bamaze gukorana, atangura kubabwira ati: “Bagabo, bene wacu, naho ata kintu na kimwe nakoze giteye kubiri n’iki gisata canke n’imigenzo ya ba sogokuruza bacu+, naratanzwe bwa mbohe, kuva i Yeruzalemu, mu maboko y’Abaroma+. 18 Aho abo bamariye kunsambisha+, bashaka kundekura+, kuko ata mvo yo kunyicisha+ yariho muri jewe. 19 Mugabo kubera ko Abayuda bagumye bavyiyamiriza, vyabaye ngombwa ko nungururiza+ kwa Sezari, mugabo atari nk’aho nari mfise ico nagiriza ihanga ryanje. 20 Ivyo koko ni vyo vyatumye ndabinginga ngo ndababone nongere mvugane namwe, kuko mboheshejwe uyu munyororo+ kubera icizigiro+ ca Isirayeli.” 21 Bamubwira bati: “Nta makete twaronse akwerekeye ava i Yudaya, kandi nta n’umwe muri bene wacu bashitse yashikirije canke ngo avuge ikintu kibi kuri wewe. 22 Mugabo twibaza ko bibereye kwumva mu kanwa kawe ivyiyumviro vyawe ivyo ari vyo, kuko vy’ukuri ku bijanye n’uwo muce w’idini+ tuzi yuko hose uvugwa nabi+.”

23 Maze bumvikana na we umusi, hanyuma baza kuri we aho yaba, ari benshi kuruta. Na we abasigurira nya bintu mu gushinga intahe inogangije ku vyerekeye ubwami bw’Imana+ no mu gukoresha kuri bo imvugo inyura, ku vyerekeye Yezu afatiye kw’itegeko rya Musa+ no ku Bahanuzi+, kuva mu gatondo gushika ku mugoroba. 24 Bamwe batangura kwemera+ ibivuzwe; abandi ntibizera+. 25 Nuko, kubera ko batumvikanye, batangura kugenda, Paulo na we avuga iri jambo rimwe, ati:

“Impwemu nyeranda ntiyihenze mu kubwira ba sogokuruza banyu biciye kuri Yesaya umuhanuzi, 26 iti: ‘Genda kuri aba bantu uvuge uti: “Kwumva muzokwumva, mugabo ntimuzogenda mutegereye; kandi kuraba muzoraba, mugabo ntimuzogenda mubonye+. 27 Kuko umutima w’aba bantu udadaraye, kandi bumvishije amatwi yabo ntihagira ico bakora, kandi bihumye amaso; kugira ngo ntibigere babonesha amaso yabo, ngo bumvishe n’amatwi yabo, baheze bategere bakoresheje umutima wabo, ngo bahindukire, ndabakize+.”’ 28 Nimumenye rero yuko ubwo buryo Imana ikirisha bwarungitswe ku mahanga+; bo ntibazobura kubwumviriza+.” 29* ——

30 Nuko ahaguma imyaka ibiri yuzuye ari mu nzu yiwe bwite, inzu ipanzwe+, kandi yarakirana ubuntu abo bose binjira iwe, 31 akamamaza kuri bo ubwami bw’Imana yongera yigisha ivyerekeye Umukama Yezu Kristu ari n’umwidegemvyo wo kuvuga urushirije kuba mwinshi+, ata kimutangira.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “ingabirano z’imbabazi.”

Ijambo ku rindi ni “urubuto.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “amasandali.”

Ijambo ku rindi ni “umugozi.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “iyaruka ryiwe.”

Uyu murongo uraboneka mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, mugabo ntuboneka mu vyandiko vy’iminwe bikurubikuru vy’ikigiriki vya kera binyuranye.

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “amasandali.”

Ijambo ku rindi ni “baba iruhande ya.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Ivk 8:37, akajambo k’epfo.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Ivk 8:37, akajambo k’epfo.

Raba Inyongera ya 21.

Itenzi ni igice c’inyuma c’ubwato.

Igipimo kimwe cangana n’imetero nka 1,8.

Impanza ni igice c’imbere c’ubwato.

Raba Ivk 8:37, akajambo k’epfo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika