ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Zekariya 1:1-14:21
  • Zekariya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Zekariya
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Zekariya

Zekariya

1 Mu kwezi kugira umunani, mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo+, ijambo rya Yehova riza kuri Zekariya+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido+, umuhanuzi, riti: 2 “Yehova yararakiye cane ba so+.

3 “Uze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo* avuze: “‘Nimungarukeko+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘nanje nzobagarukako+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”’

4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’

“‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.

5 “‘None ba so bari hehe+? Abahanuzi bo+, mbega babandanije kubaho gushika igihe kitagira urugero? 6 Ariko amajambo yanje n’ingingo nyobozi zanje nategetse abasavyi banje, abahanuzi+, mbega ntivyahambije ba so+?’ Baragarutse rero, bavuga bati: ‘Nk’uko Yehova nyen’ingabo yari yariyumviriye kutugirira+, nk’uko inzira zacu n’ibikorwa vyacu vyari, ni ko yatugiriye+.’”

7 Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira cumi na rimwe, ari kwo kwezi kwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo+, ijambo rya Yehova riza kuri Zekariya+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido+, umuhanuzi, riti: 8 “Mw’ijoro nagize ntya, mbona umugabo+ ari kw’ifarasi itukura+, akaba yari ahagaze mu biti vy’imihadasi+ vyari ahantu hacokeye; inyuma yiwe hari amafarasi atukura, ayasa n’umuriro, be n’ayera+.”

9 Nuko mvuga nti: “Abo ni bande ga mukama+?”

Umumarayika yariko avugana nanje aca ambwira+ ati: “Ndakwereka abo ari bo.”

10 Maze nya mugabo yari ahagaze mu biti vy’imihadasi yishura ati: “Abo ni abo Yehova yatumye kugendagenda mw’isi+.” 11 Nuko bishura nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze mu biti vy’imihadasi bati: “Twagendagenze mw’isi+ dusanga isi yose iratekanye kandi ata kiyihungabanya+.”

12 Nya mumarayika wa Yehova yishura rero ati: “Ewe Yehova nyen’ingabo, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yeruzalemu n’ibisagara vya Yuda+, ivyo warakiye iyi myaka mirongo irindwi+?”

13 Nuko Yehova yishura nya mumarayika yariko avugana nanje, amwishura amajambo meza, amajambo ahumuriza+; 14 nya mumarayika yariko avugana nanje yongera kumbwira ati: “Semerera uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Nagiriye Yeruzalemu na Siyoni ishari ryinshi+. 15 Mfitiye uburakari bwinshi amahanga yitekaniye+; kuko jewe narakaye buhoro+, yamara bo bagatuma ivyago vyunyuka+.”’

16 “Ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘“Nzogaruka kuri Yeruzalemu mfise imbabazi+. Inzu yanje izokwubakwa muri we+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi ikamba yo gupimisha izoramvurwa kuri Yeruzalemu+.”’

17 “Subira usemerere uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ibisagara vyanje bizokwongera gusesekara ivyiza+; kandi Yehova azokwongera koko kwicuza ku bijanye na Siyoni+, yongere vy’ukuri gutoranya Yeruzalemu+.”’”

18 Nuko ndaramuye amaso, mbona amahembe ane+. 19 Mbwira rero umumarayika yariko avugana nanje nti: “Ivyo ni ibiki?” Na we ambwira ati: “Ayo ni yo mahembe yashwiragije Yuda+, Isirayeli+ na Yeruzalemu+.”

20 Vyongeye, Yehova anyereka abahinguzi b’utugenegene bane. 21 Nca mvuga nti: “Abo baje gukora iki?”

Yongera kuvuga ati: “Ayo ni yo mahembe+ yashwiragije Yuda ku buryo ata n’umwe yongeye kuvyura umutwe; barya rero bazoza kuyajugumiza, gutsinda hasi amahembe y’amahanga adugiriza ihembe igihugu ca Yuda kugira agishwiragize+.”

2 Nuko ndaramuye amaso, mbona umugabo afise mu kuboko umugozi wo gupimisha+. 2 Mvuga rero nti: “Ugiye hehe?”

Na we ambwira ati: “Ngiye gupima Yeruzalemu kugira ngo ndabe ubwaguke bwayo n’uburebure bwayo uko bungana+.”

3 Maze nya mumarayika yariko avugana nanje aragenda, uwundi mumarayika aza guhura na we. 4 Hanyuma amubwira ati: “Iruka ubwire uriya musore uti: “‘Yeruzalemu bazosubira kuyibamwo ari nk’akarere karangaye ko mu gihugu hagati+, kubera ubwinshi bw’abantu n’ibitungwa bizoba biri muri yo+. 5 Jewe ubwanje,” ni ko Yehova avuze, “nzoyibera uruhome rw’umuriro irya n’ino+, kandi nzoba ubuninahazwa hagati muri yo+.”’”

6 “Yemwe! Yemwe! Nimuhunge muve mu gihugu co mu buraruko+,” ni ko Yehova avuze.

“Kuko nabashwiragirije mu miyaga ine y’amajuru+,” ni ko Yehova avuze.

7 “Yewe Siyoni+! Hunga, wewe ubana n’umukobwa wa Babiloni+. 8 Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Amaze kuninahazwa+, yarantumye ku mahanga yahora abanyaga+; kuko uwubakozeko+ aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje+. 9 Kuko ehe ngira ndabazungagirize ukuboko+, kandi koko bazobera isahu abashumba babo+.’ Namwe muzomenya koko yuko Yehova nyen’ingabo ari we yantumye+.

10 “Semerera n’ijwi rirenga wongere unezerwe, ewe mukobwa wa Siyoni+; kuko ehe ndaje+, kandi nzoba hagati muri wewe+,” ni ko Yehova avuze. 11 “Egome, amahanga menshi azokwifatanya na Yehova kuri uwo musi+, abe koko abantu banje+; kandi nzoba hagati muri wewe.” Nawe uzomenya ata kabuza yuko Yehova nyen’ingabo ari we yantumye kuri wewe+. 12 Yehova azokwigarurira koko Yuda, imubere umugabane ku butaka bweranda+, kandi azokwongera gutoranya Yeruzalemu+. 13 Nimucereze imbere ya Yehova, yemwe abafise umubiri mwese+, kuko yahagurutse+ avuye ahantu hiwe heranda aba+.

3 Nuko anyereka Yosuwa+ umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika wa Yehova, na Shetani+ ahagaze iburyo bwiwe kugira ngo amurwanye+. 2 Maze nya mumarayika+ wa Yehova abwira Shetani ati: “Yehova aguhambarire+, ewe Shetani, egome, Yehova aguhambarire, we atoranya Yeruzalemu+! Mbega uwo mugabo si ingegene yokowe mu muriro+?”

3 Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu zicafuye+, akaba yari ahagaze imbere ya nya mumarayika. 4 Nuko uno arishura, abwira abari bahagaze imbere yiwe ati: “Nimumukure izo mpuzu zicafuye.” Maze amubwira ati: “Raba ngukuyeko ikosa ryawe+, kandi ugira wambikwe amakanzu y’imararubanza+.”

5 Nca mvuga nti: “Nibamushire ku mutwe igitambara gisukuye+.” Nuko bamushira ku mutwe igitambara gisukuye bongera bamwambika impuzu; kandi nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze ng’aho. 6 Uwo mumarayika wa Yehova atangura gushingira intahe Yosuwa ati: 7 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Niwagendera mu nzira zanje, ugashitsa ivyo nakujeje+, ni wewe rero uzocira imanza inzu yanje+ ukongera ukarinda ibigo vyanje; kandi nzoguha koko ubwishikira muri aba bahagaze ng’aha.’

8 “‘Ndakwinginze wumve, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, wewe na bagenzawe bicaye imbere yawe, kuko ari abagabo bakora bwa mburizi+; kuko raba, ngira ninjize umusavyi wanje+ Munago+! 9 Kuko ehe raba ibuye+ nshize imbere ya Yosuwa! Kuri iryo buye rimwe hariko amaso indwi+. Ehe ngira ndarisarureko udusaruro twaryo+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘kandi nzokuraho ikosa ry’ico gihugu mu musi umwe+.’

10 “‘Kuri uwo musi,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘muzohamagarana muri munsi y’umuzabibu no munsi y’igiti c’umusukoni+.’”

4 Maze nya mumarayika yariko avugana nanje aragaruka hanyuma arankangura, nk’umuntu bakanguye mw’itiro+. 2 Nuko ambwira ati: “Ubona iki+?”

Nanje nti: “Mbonye igitereko c’amatara, cose gikozwe mu nzahabu+, hejuru kuri co hakaba hari ibakure. Kandi amatara indwi yaco ari kuri co, egome, indwi+; ayo matara ari hejuru kuri co afise imiringoti indwi. 3 Iruhande yaco hari ibiti vy’imyelayo bibiri+, kimwe iburyo bwa nya bakure, ikindi na co ibubamfu bwayo.”

4 Maze mbaza uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: “Ibi bintu bisobanura iki ga mukama wanje+?” 5 Uwo mumarayika yariko avugana nanje ambwira rero ati: “Ntuzi koko ico ivyo bisobanura?”

Nanje nti: “Oya, mukama wanje+.”

6 Nuko anyishura ati: “Iri ni ryo jambo Yehova abwiye Zerubabeli ati: ‘“Si ku bw’inteko za gisirikare+, canke ku bw’ububasha+, mugabo ni ku bw’impwemu yanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 7 Uri iki ga wa musozi munini+? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba intara ishashe. Kandi azosohora koko ibuye ry’umusozo+. Bazorivugiriza akaruru+ bati: “Ewe kuntu ari iry’igikundiro! Ewe kuntu ari iry’igikundiro+!”’”

8 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti: 9 “Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashinze umushinge w’iyi nzu+, kandi amaboko yiwe bwite ni yo azoyisozera+. Uzomenya ata kabuza yuko Yehova nyen’ingabo ari we yantumye kuri mwebwe+. 10 Kuko ni nde yasuzuguye umusi w’ibintu bitoyi+? Bazonezerwa koko+, babone karisho* mu kuboko kwa Zerubabeli. Ayo ndwi ni amaso ya Yehova+. Anyuragira mw’isi yose+.”

11 Ndamubaza rero nti: “Birya biti vy’imyelayo bibiri biri iburyo bwa kirya gitereko c’amatara n’ibubamfu bwaco, bisobanura iki+?” 12 Nongera kumubaza nti: “Turya tugundu tubiri tw’iminago y’ibiti vy’imyelayo tuvamwo amazimazi asa n’inzahabu aciye muri irya miringoti ibiri y’inzahabu, dusobanura iki?”

13 Nuko ambwira ati: “Ntuzi koko ico ivyo bisobanura?”

Nanje nti: “Oya, mukama wanje+.”

14 Avuga rero ati: “Turya ni bamwe babiri barobanujwe amavuta*+, bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose+.”

5 Nuko nongera kuraramura amaso, mbona umuzingo uguruka+. 2 Ambwira rero ati: “Ubona iki+?”

Nanje nti: “Mbona umuzingo uguruka, w’uburebure bw’amatambwe* mirongo ibiri, n’ubwaguke bw’amatambwe cumi.”

3 Maze ambwira ati: “Uwo ni umuvumo usohotse uja ku buringanire bw’isi yose+, kuko uwiba wese+ atigeze ahanwa nk’uko uwo muvumo wanditse ku ruhande rumwe, n’uwurahira wese+ atigeze ahanwa nk’uko uwo muvumo wanditse ku rundi ruhande+. 4 ‘Ndawurungitse,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘na wo uzokwinjira koko mu nzu y’igisuma no mu nzu y’uwurahira ibinyoma mw’izina ryanje+; kandi uzoba koko mu nzu yiwe, uyiherengetezanye n’ibiti vyayo n’amabuye yayo+.’”

5 Nuko nya mumarayika yariko avugana nanje arasohoka, ambwira ati: “Ndakwinginze uraramure amaso, urabe kirya gisohotse ico ari co.”

6 Maze mvuga nti: “Ni igiki?”

Na we ati: “Iyo ni ingero ya efa isohotse.” Yongerako ati: “Ukwo ni ko basa mw’isi yose.” 7 Ngize ntya, mbona umurumyo w’umuzingi ukozwe mu butare bw’isǎsu uteruwe, maze mbona umugore yicaye hagati muri ya efa. 8 Nuko avuga ati: “Uwu ni Bubisha.” Hanyuma asubira kumuterera hagati muri nya efa+, araheza aterera ku munwa wayo bwa butare bw’isǎsu buremereye.

9 Maze ndaramura amaso, mbona abagore babiri basohotse, kandi umuyaga wari mu mababa yabo. Bari bafise amababa nk’ay’agasoza. Nuko batangura kuduza nya efa hagati y’isi n’ijuru. 10 Mbwira rero uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: “Irya efa bayijanye he?”

11 Na we ambwira ati: “Bagiye kumwubakira+ inzu mu gihugu ca Shinari+; izoshimangirwa koko, na we azoshirwa ng’aho, ahantu hiwe akwiriye.”

6 Nuko nongera kuraramura amaso, mbona imikogote ine isohotse ivuye hagati y’imisozi ibiri, iyo misozi ikaba yari imisozi y’umujumpu. 2 Umukogote wa mbere wariko amafarasi atukura+, uwa kabiri na wo amafarasi yirabura+. 3 Umukogote wa gatatu wariko amafarasi yera+, uwa kane na wo amafarasi y’utudorodonzi, y’amabara avangavanze+.

4 Maze mbaza nya mumarayika yariko avugana nanje nti: “Ivyo ni ibiki ga mukama wanje+?”

5 Nya mumarayika anyishura rero ati: “Izo ni za mpwemu zine+ zo mu majuru zisohoka+ zimaze guhagarara imbere y’Umukama+ w’isi yose+. 6 Ku bijanye n’umukogote uriko amafarasi yirabura, ano agiye mu gihugu co mu buraruko+; ayera abwirizwa kuja hakurya y’ikiyaga; ay’utudorodonzi na yo abwirizwa kuja mu gihugu co mu bumanuko+. 7 Ay’amabara avangavanze+ abwirizwa kugenda, akaguma arondera iyo aja, kugira ngo agendagende mw’isi+.” Maze avuga ati: “Nimugende, mugendagende mw’isi.” Nya mafarasi atangura rero kugendagenda mw’isi.

8 Nuko atangura gusemerera yerekeza iyo ndi, ambwira ati: “Raba, ariya agiye mu gihugu co mu buraruko ni yo yatumye impwemu+ ya Yehova iruhuka mu gihugu co mu buraruko+.”

9 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti: 10 “Haze hagire ivyakīrwa bivuye ku bajanywe ari inyagano+, egome, bivuye kuri Heludayi no kuri Tobiya no kuri Yedaya; uze winjire kuri uwo musi, winjire mu nzu ya Yosiya mwene Zefaniya+ uri kumwe n’abo bavuye i Babiloni. 11 Uze wakire ifeza n’inzahabu, ukore urugori ruhambaye+ hanyuma urushire ku mutwe wa Yosuwa+ mwene Yehozadaki umuherezi mukuru. 12 Uheze umubwire uti:

“‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ng’uwu umugabo+ yitwa Munago+. Azonagira mu kibanza ciwe bwite, kandi azokwubaka koko urusengero rwa Yehova+. 13 Ni we azokwubaka urusengero rwa Yehova, kandi azogira iteka+; azokwicara koko ku ntebe yiwe y’ubwami aganze, kandi azobera umuherezi ku ntebe y’ubwami yiwe+; inama y’amahoro+ izoba hagati y’ayo mabanga yompi. 14 Urwo rugori ruhambaye ruzoba urwa Helemu n’urwa Tobiya n’urwa Yedaya+ n’urwa Heni mwene Zefaniya, rubabere icibutso+ mu rusengero rwa Yehova. 15 Kandi abari kure bazoza bubake koko mu rusengero rwa Yehova+.” Maze muzomenya yuko Yehova nyen’ingabo ari we yabantumyeko+. Ivyo bizoba, nimwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yanyu+.’”

7 Vyongeye, mu mwaka ugira kane wa Dariyo+ umwami, ijambo rya Yehova riza kuri Zekariya, ku musi ugira kane w’ukwezi kugira icenda, ni ukuvuga muri Kisilevu+. 2 Nuko Beteli irungika Shareseri na Regemu-meleki n’abantu bayo kugira batakambire*+ Yehova, 3 mu kubwira abaherezi+ b’inzu ya Yehova nyen’ingabo, n’abahanuzi, egome, mu kubabwira bati: “Noba nkwiye kurira mu kwezi kugira gatanu+, nkiyima ibifungurwa, nk’uko maze iyi myaka myinshi ndabigira+?”

4 Ijambo rya Yehova nyen’ingabo ryongera kunzako riti: 5 “Bwira abanyagihugu bose n’abaherezi uti: ‘Hamwe mwahora mwisonzesha+ mwongera muboroga mu kwezi kugira gatanu no mu kwezi kugira indwi+, ivyo mukabigira mu myaka mirongo irindwi+, mbega ni jewe mwisonzeshereza+? 6 Kandi hamwe mwahora murya mwongera munywa, mbega si mwebwe mwirira mukongera mukinywera? 7 Mbega ntimwari mukwiye kugamburuka amajambo+ Yehova yasemereye biciye ku bahanuzi ba kera+, igihe Yeruzalemu yabamwo abantu kandi itekanye, ikikujwe n’ibisagara vyayo, be n’igihe Negebu+ na Shefela*+ vyabamwo abantu?’”

8 Ijambo rya Yehova ryongera kuza kuri Zekariya riti: 9 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Muce imanza mu butungane nyakuri+; kandi mugiriranire ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’imbabazi+; 10 ntimugunge umupfakazi+ canke impfuvyi*+, kavamahanga+ canke umurushwa+, kandi ntimutegure mu mitima yanyu imigambi yo kugiriranira nabi+.’ 11 Mugabo bagumye banka kwumviriza+, baguma bakutsa urutugu n’akagagazo+, biziba amatwi ngo ntibumve+. 12 Umutima wabo+ bawugize nk’ibuye rikomantaye kugira ngo ntibagamburuke itegeko+ be n’amajambo Yehova nyen’ingabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe+, biciye ku bahanuzi ba kera+, bituma Yehova nyen’ingabo arakara cane+.”

13 “‘Nk’uko rero nahamagaye ntibumvirize+, ni ko na bo bagiye barahamagara sinumvirize+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 14 ‘Narabararirije rero nk’abararirijwe n’igihuhusi mu mahanga yose+ batari baramenye+, igihugu gisigara ari umusaka inyuma yabo, ata n’umwe agicamwo canke ngo akigarukemwo+; nuko igihugu gihimbaye+ batangura kukigira akajoreza.’”

8 Ijambo rya Yehova nyen’ingabo ryongera kuza, riti: 2 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Nzogira ishari ryinshi ku bwa Siyoni+, ngire ishari ku bwiwe mfise ubushangashirwe bwinshi+.’”

3 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nzogaruka i Siyoni+ mbe hagati muri Yeruzalemu+; kandi Yeruzalemu izokwitwa koko igisagara c’ukuri+, umusozi wa Yehova+ nyen’ingabo na wo witwe umusozi mweranda+.’”

4 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Abatama n’abatamakazi bazosubira kwicara mu bibanza vya bose vya Yeruzalemu+, umwe wese afise inkoni yiwe+ mu kuboko kubera amaze imisi myinshi. 5 Kandi ibibanza vya bose vy’ico gisagara bizokwuzura abahungu n’abakobwa bakinira mu bibanza vya bose vyaco+.’”

6 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Naho ivyo vyosa n’ibigoye rwose mu maso y’amasigarira y’aba bantu azoba asigaye muri iyo misi, mbega vyosa n’ibigoye rwose no mu maso yanje+?’, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”

7 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ehe ngira nkize abantu banje ndabakure mu gihugu c’i burasirazuba no mu gihugu c’i burengerazuba+. 8 Nzobazana koko, babe hagati muri Yeruzalemu+; bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi+.’”

9 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Amaboko yanyu nakomere+, yemwe abumva muri iyi misi aya majambo yo mu kanwa k’abahanuzi+, ayo bavuze ku musi umushinge w’inzu ya Yehova nyen’ingabo washingwa, kugira ngo urusengero rwubakwe+. 10 Kuko imbere y’iyo misi ata mpembo y’abantu yariho+; nayo ku bijanye n’impembo y’ibitungwa, nta kintu nk’ico cariho; kandi ku wasohoka no ku winjira nta mahoro yariho kubera umurwanizi+, kuko naguma nshuhura abantu bose, umwe wese nkamushuhurira kuri mugenziwe+.’

11 “‘Ubu rero amasigarira y’aba bantu sinzoyagirira nko mu misi ya kera+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 12 ‘Kuko hazobibwa imbuto y’amahoro+; umuzabibu uzotanga icamwa cawo+, isi itange umwimbu wayo+, amajuru na yo atange ikime cayo+; nzotuma koko amasigarira+ y’aba bantu atorana ivyo vyose+. 13 Kandi nk’uko nyene mwabaye umuvumo mu mahanga+, ewe nzu ya Yuda nawe nzu ya Isirayeli+, ni ko nzobakiza, kandi muzoba koko umuhezagiro+. Ntimutinye+. Amaboko yanyu nakomere+.’

14 “Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘“Nk’uko nari nariyumviriye kubateza ivyago kubera ba sogokuruza banyu bandatsa+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nanje sinicuze+, 15 ni ko muri iyi misi nzokwongera kwiyumvira kugirira neza Yeruzalemu n’inzu ya Yuda+. Ntimutinye+.”’

16 “‘Ibi ni vyo mukwiye gukora+: Muvugane ukuri+. Mucire imanza mu marembo yanyu mu kuri kandi muce imanza z’amahoro+. 17 Ntimutegure mu mitima yanyu umugambi wo kugiriranira nabi+, kandi ntimukunde indahiro y’ikinyoma+; kuko ivyo bintu vyose ari vyo nanse+,’ ni ko Yehova avuze.”

18 Ijambo rya Yehova nyen’ingabo ryongera kunzako riti: 19 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira kane+, n’ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira gatanu+, n’ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira indwi+, n’ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira cumi+ kuzobera inzu ya Yuda umwigino n’umunezero n’ibiringo vy’imisi mikuru vyiza+. Mukunde rero ukuri n’amahoro+.’

20 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ibisata vy’abantu n’ababa mu bisagara vyinshi bizoza ata kabuza+; 21 kandi ababa mu gisagara kimwe bazoja koko ku baba mu kindi, bavuge bati: “Tabaranya tuje+ gutakambira*+ Yehova no kurondera Yehova nyen’ingabo. Na jewe nyene nzogenda+.” 22 Kandi ibisata vy’abantu vyinshi n’amahanga akomeye bizoza koko kurondera Yehova nyen’ingabo i Yeruzalemu+ no gutakambira Yehova.’

23 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga+ bazofata+ koko impuzu* y’Umuyuda+, bavuge bati: “Turajana+, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe+.”’”

9 Ijambo ryamenyeshejwe+:

“Ijambo rya Yehova riziye igihugu ca Hadaraki, kandi i Damasiko+ ni ho rizovyagira; kuko Yehova ashinze ijisho umuntu yakuwe mw’ivu+, n’imiryango yose ya Isirayeli. 2 Riziye kandi Hamati+ ihana urubibe na ho; riziye na Tiro+ be na Sidoni+, kuko ari inkerebutsi cane+. 3 Tiro yiyubakiye igikuta, yirundira ifeza nk’umukungugu be n’inzahabu nk’urwondo rwo mu mabarabara+. 4 Raba! Yehova ubwiwe azomwomora, emwe, ingabo ziwe azozihonereza mu kiyaga+; na we azorigatwa n’umuriro+. 5 Ashikeloni azobibona atinye; nayo Gaza, azokwumva ububabare bukaze; na Ekuroni+, kuko ico yari ahanze amaso+ kitazobura kumaramara. Kandi umwami ntazobura kuzimangana i Gaza, Ashikeloni na we nta bantu bazoba muri we+. 6 Emwe, umwana w’ikivyarwa+ azovyagira i Ashidodi+, kandi nzorandura ubwishime bw’Umufilisitiya+. 7 Nzomukura mu kanwa ibintu vyiwe vyandujwe n’amaraso, ndamukure mu menyo ibintu vyiwe bisesemye+, kandi na we nyene azosigarizwa Imana yacu; azoba vy’ukuri nk’umutware*+ muri Yuda+, Ekuroni na we abe nk’Umuyebusi+. 8 Nzokambika hanze y’inzu yanje kugira ndayirinde+, ku buryo ata wuzohaca arengana canke agaruka; nta mugapita azosubira guca iwabo+, kuko ubu ndavyiboneye n’amaso yanje+.

9 “Nezerwa cane, wa mukobwa wa Siyoni+! Niwihe akaruru k’intsinzi+, wa mukobwa wa Yeruzalemu! Raba! Umwami wawe+ araje kuri wewe+. Aragororotse kandi ni nyen’intsinzi+; aricisha bugufi+, kandi agendera ku ndogobwa, egome, ku gitungwa gikuze kivuka ku ndogobwa y’ingore+. 10 Nzorandura koko umukogote w’intambara muri Efurayimu, n’ifarasi muri Yeruzalemu+. Kandi umuheto w’urugamba+ uzorandurwa ata kabuza. Azobwira amahanga ivy’amahoro+; kandi ubutware bwiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre kuri rwa Ruzi bushike ku mpera z’isi+.

11 “Nawe ga wa mugore, biciye ku maraso y’isezerano ryawe+, nzorungika imbohe zawe+ ndazikuye mu cobo kitarimwo amazi.

12 “Nimugaruke ku gihome gikomeye+, yemwe mbohe zifise icizigiro+!

“Vyongeye, uyu musi nkubwiye nti: ‘Nzokwishura umugabane urimwo ibiri+, ewe wa mugore! 13 Kuko nzoshinga ikirenge kuri Yuda nk’aho ndagishinze ku muheto wanje. Nzoshira Efurayimu mu muheto, nkangure abana bawe+, ewe Siyoni, barwanye abana bawe, ewe Bugiriki+, kandi nzokugira nk’inkota y’umugabo w’umunyenkomezi+.’ 14 Yehova azoboneka hejuru yabo+, kandi umwampi wiwe uzofyiruka nk’umuravyo+. Umukama Segaba Yehova ubwiwe azovuza inzamba+, ajane n’ibirura vy’umuyaga vyo mu bumanuko+. 15 Yehova nyen’ingabo ubwiwe azobarwanira, kandi bazorotsa+ bongere baneshe amabuye atezwa imigozi. Emwe, bazonywa+, bavuze uruyogoyogo, nk’aho boba banyoye umuvinyu; bazokwuzura nk’ibakure, nk’imfuruka z’igicaniro*+.

16 “Kandi kuri uwo musi, Yehova Imana yabo azobakiza koko+ nk’umukuku w’abantu biwe+; kuko bazoba nk’amabuye yo ku mugāra aca ibibatsi ku butaka bwiwe+. 17 Nkako, ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi+, n’ubwiza bwiwe ukuntu ari bwinshi+! Intete ni zo zizotuma imisore isagamba, umuvinyu mushasha utume abigeme b’isugi basagamba+.”

10 “Nimusabe Yehova imvura+ mu gihe c’imvura y’impeshi+, egome, muyisabe Yehova we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi+, akaba ari na we abaha imvura y’isegenya+, umwe wese akamuha ibimera mu murima+. 2 Kuko terafimu*+ zavuze ivy’amageza; abaraguzi beretswe ibinyoma+, kandi indoto ata co zimaze ni zo baguma bavuga, kandi bagerageza guhoreza abantu ubusa+. Ni co gituma bazozimira koko nk’umukuku+; bazokwibabaza, kuko ata mwungere ariho+.

3 “Ishavu ryanje rirurumbiye abungere+, kandi nzogira ico mbaza+ indongozi zimeze nk’amasuguru y’impene+; kuko Yehova nyen’ingabo yitayeho ubusho bwiwe+, inzu ya Yuda, kandi akaba yabagize nk’ifarasi yiwe+ y’iteka mu rugamba. 4 Muri we hava umukuru+, muri we hava umutegetsi ashigikira+, muri we hava umuheto w’urugamba+; muri we hasohoka umugapita wese+, bose hamwe. 5 Emwe, bazomera nk’abagabo b’abanyenkomezi+ bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba+. Bazoja mu rugamba ata kabuza, kuko Yehova ari kumwe na bo+; kandi abagendera ku mafarasi ntibazobura kumaramara+. 6 Nzotuma inzu ya Yuda itsinda, kandi inzu ya Yozefu nzoyikiza+. Nzobaha aho kuba, kuko nzobagirira imbabazi+; bazomera nk’abo ntari narashibuye+; kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura+. 7 Kandi abo muri Efurayimu bazoba nk’umugabo w’umunyenkomezi+, umutima wabo unezerwe koko nk’uwunezerejwe n’umuvinyu+. Abana babo bazobibona banezerwe koko+; umutima wabo uzonezererwa Yehova+.

8 “‘Nzobahamagaza agahwa+ ndabakoranirize hamwe; kuko nzobacungura ata kabuza+, kandi bazogwira, nk’abari baragwiriye+. 9 Nzobasanzaza nk’imbuto mu bisata vy’abantu+, kandi bazonyibuka bari mu turere twa kure+; emwe, bazogarura agatege hamwe n’abana babo, kandi bazogaruka+. 10 Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri+; kandi nzobakoraniriza hamwe ndabakuye muri Ashuri+; nzobajana mu gihugu ca Gileyadi+ no muri Libani, kandi ntibazoronka aho bakwirwa+. 11 Azoca mu kiyaga kigire amarushwa+; azokubita vy’ukuri imipfunda mu kiyaga+, kandi ibwina ha Nili hose hazokama+. Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi+, kandi agakoni k’ubutware+ ka Misiri kazovaho+. 12 Jewe Yehova nzotuma batsinda+, kandi bazogendera mw’izina ryanje+,’ ni ko Yehova avuze.”

11 “Ugurura imiryango yawe Libani we+, kugira ngo umuriro urigate mu masederi yawe+. 2 Boroga wa giti c’umuberoshi, kuko isederi itemvye; kubera ko abakomakomeye banyazwe+. Nimuboroge mwa biti bisagaraye vy’i Bashani, kuko ca kibira c’intamenwa gitemvye+. 3 Umviriza ukuboroga kw’abungere+, kuko ubukuru bwabo bunyazwe+. Umviriza ukuroha kw’intambwe z’imikangara z’imigāra, kuko vya bisaka vy’inzitane vyishima vyo ku nkengera ya Yorodani binyazwe+.

4 “Ibi ni vyo Yehova Imana yanje avuze: ‘Ragira umukuku w’intama zigenewe kwicwa+, 5 izo bene kuzigura batanguye kwica+ mugabo bakaba badaharurwako icaha+. Kandi abazigurisha+ bavuga ngo: “Yehova ahezagirwe, nanje nironkere ubutunzi+.” Abungere bazo nta mpuhwe na nkeyi bazumvira+.’

6 “‘Kuko ntazosubira kwumvira impuhwe ababa mu gihugu+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Ehe rero ngira ntume abantu bagwa, umwe wese agwe mu kuboko kwa mugenziwe+ no mu kuboko kw’umwami wiwe+; emwe, igihugu bazokigira ubunywenywe, kandi nta we nzorokora mu kuboko kwabo+.’”

7 Nuko ndabaragirira umukuku+ ugenewe kwicwa+, yemwe barushwa bo mu mukuku+. Ndaheza nironsa inkoni zibiri+. Imwe ndayita Gikundiro+, iyindi na yo ndayita Rwunzi+, maze ntangura kuragira umukuku. 8 Amaherezo nzimanganya abungere batatu mu kwezi* kumwe+, kuko ntari nkibihanganira+, na bo ubwabo nkaba ndabashisha. 9 Ndahava mvuga nti: “Mwebwe sinzobandanya kubaragira+. Uwupfa napfe. Uwuzimangana nazimangane+. Abasigaye na bo, nibarotsanye, umwe wese arotse inyama za mugenziwe+.” 10 Ntora rero inkoni yanje Gikundiro+ ndayivuna+, kugira nice isezerano ryanje nari naragiranye n’ibisata vy’abantu vyose+. 11 Nuko uwo musi iravunika, gutyo abarushwa bo mu mukuku+ bariko banyitegereza+ bamenya ko ryari ijambo rya Yehova.

12 Maze ndababwira nti: “Nimba ari vyiza mu maso yanyu+, nimumpe impembo yanje; atari ukwo na ho, mureke.” Bampa rero impembo yanje: ibiceri mirongo itatu vy’ifeza+.

13 Yehova aca ambwira ati: “Giterere mw’ishikaniro+, ico giciro c’agahebuza babonye ko dukwiranye+.” Nuko ntora nya biceri mirongo itatu vy’ifeza, ndabiterera mw’ishikaniro mu nzu ya Yehova+.

14 Maze mvuna inkoni yanje igira kabiri, ari yo Rwunzi+, kugira nsenyure ubuvukanyi+ buri hagati ya Yuda na Isirayeli+.

15 Nuko Yehova ambwira ati: “Subira wironse ibikoresho vy’umwungere ata co amaze+. 16 Kuko ehe ngira mpagurutse umwungere mu gihugu+. Ntazokwitaho intama ziriko zirazimangana+. Ntazorondera umwagazi, kandi intama ivunitse ntazoyivura+. Iyigihagaze ntazoyironsa ivyo irya, kandi azorya inyama z’iyidoshe+, arandure ibinono vy’intama+. 17 Aragowe umwungere wanje ata co amaze+, ata umukuku+! Inkota izokubita ukuboko kwiwe n’ijisho ryiwe ry’iburyo. Emwe, ukuboko kwiwe kuzonyunyuka+, kandi ijisho ryiwe ry’iburyo ntirizobura guhuma.”

12 Ijambo ryamenyeshejwe: “Ijambo rya Yehova ryerekeye Isirayeli,” ni ko Yehova avuze, Umwe aramvura amajuru+, agashinga umushinge w’isi+ kandi akarema impwemu+ y’umuntu muri we. 2 “Ehe Yeruzalemu+ ngira ndayigire ibakure itera ibizunguzungu ibisata vy’abantu vyose biyikikije+; umwansi azosugereza na Yuda, eka mbere na Yeruzalemu+. 3 Kuri uwo musi+ Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera+ ibisata vy’abantu vyose. Abazoriterura bose ntibazobura gukobagurika bikomeye; kandi amahanga yose yo kw’isi azokorana kugira ayirwanye+. 4 Kuri uwo musi+,” ni ko Yehova avuze, “ifarasi+ yose nzoyiteza ukuzazanirwa, uwuyigenderako na we ndamuteze ibisazi+; nzogumiza amaso ku nzu ya Yuda+, kandi ifarasi yose y’ibisata vy’abantu nzoyiteza uruhumyi. 5 Abatware*+ ba Yuda bazovuga koko mu mutima wabo bati: ‘Ababa i Yeruzalemu ni inkomezi zanje biciye kuri Yehova nyen’ingabo Imana yabo+.’ 6 Kuri uwo musi, abatware ba Yuda nzobagira nk’inkono irimwo umuriro iri mu biti+, nk’ikimuri mu mikama y’ibinyantete ihejeje gutemwa+; bazoyigiza koko iburyo n’ibubamfu bw’ibisata vy’abantu vyose bibakikije+; kandi vy’ukuri Yeruzalemu izosubira kubamwo abantu mu kibanza cayo bwite, ni ukuvuga i Yeruzalemu+.

7 “Kandi Yehova azobanza gukiza amahema ya Yuda, kugira ngo ubwiza bw’inzu ya Dawidi n’ubwiza bw’ababa i Yeruzalemu ntibube bwinshi birenze kurusha ubwa Yuda. 8 Kuri uwo musi, Yehova azokingira irya n’ino ababa i Yeruzalemu+; kandi kuri uwo musi uwutsitara muri bo azoba koko nka Dawidi+, inzu ya Dawidi na yo ibe nk’Imana+, nk’umumarayika wa Yehova imbere yabo+. 9 Emwe, kuri uwo musi, nzorondera kuzimanganya amahanga yose aza kurwanya Yeruzalemu+.

10 “Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ubutoni+ n’ukwinginga+, kandi bazoraba koko Uwo basogōse+, bamuborogere vy’ukuri nk’ababorogera umwana w’ikinege; bazomucurira intimba rwose nk’abacurira intimba umwana w’imfura+. 11 Kuri uwo musi, ukuboroga i Yeruzalemu kuzoba ugukomeye, nka kwa kuboroga kw’i Hadadirimoni mu kiyaya c’umubande ca Megido+. 12 Igihugu kizoboroga koko+, umuryango umwumwe wose ukwawo; umuryango w’inzu ya Dawidi ukwawo, n’abagore babo ukwabo+; umuryango w’inzu ya Natani+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 13 umuryango w’inzu ya Lewi+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; umuryango w’inzu y’Abashimeyi+ ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 14 imiryango yose isigaye, umuryango umwumwe wose ukwawo, n’abagore babo ukwabo+.

13 “Kuri uwo musi+, inzu ya Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba+ ryo kubuhagira igicumuro+ be n’ikintu co kuzinukwa+.

2 “Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzorandura amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa; abahanuzi+ be n’impwemu y’ubuhumane nzobizimanganya mu gihugu+. 3 Kandi nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye ntibazobura kumubwira bati: ‘Ntubandanya kubaho, kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.’ Maze se na nyina bamuvyaye bazomutobekeranya kubera ukuvuga ubuhanuzi kwiwe+.

4 “Kuri uwo musi abahanuzi bazomaramara+, umwe wese amaramazwe n’ivyo yeretswe niyavuga ubuhanuzi; kandi ntibazokwambara impuzu y’ibango ifise ubwoya+ kugira bahende abantu. 5 Azovuga koko ati: ‘Sindi umuhanuzi. Ndi umuntu w’umwirimizi, kuko umuntu yakuwe mw’ivu yangize umukozi wiwe kuva mu buto bwanje.’ 6 Maze bazomubwira bati: ‘Izo nguma ziri ku bitugu vyawe ni iz’iki?’ Na we azovuga ati: ‘Ni izo nakomerekeye mu nzu y’abankunda rwinshi.’”

7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.”

8 “Mu gihugu cose,” ni ko Yehova avuze, “ibice bibiri muri co bizorandurwa bipfe+, ariko igice kigira gatatu kizosigazwa muri co+. 9 Ico gice kigira gatatu nzogicisha mu muriro+; emwe, nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza+, ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+. Na co kizokwambaza izina ryanje, nanje ndacishure+. Nzovuga nti: ‘Ni abantu banje+,’ na co kivuge giti: ‘Yehova ni Imana yanje+.’”

14 “Ehe umusi uraje, umusi wa Yehova+, kandi isahu ryawe rizogabanganywa hagati muri wewe. 2 Emwe, nzokoranya amahanga yose kugira atere Yeruzalemu+; ico gisagara kizofatwa ata kabuza+, amazu asahurwe, n’abagore bashurashuzwe ku nguvu+. Kandi ica kabiri c’igisagara kizoja mu bunyagano+; ariko abazosigara mu bantu+ ntibazorandurwa mu gisagara+.

3 “Emwe, Yehova azosohoka arwanye ayo mahanga+ nko ku musi arwana, ku musi w’intambara+. 4 Kuri uwo musi, ibirenge vyiwe bizohagarara ku musozi w’ibiti vy’imyelayo uri imbere ya Yeruzalemu, mu buseruko+; kandi uwo musozi w’ibiti vy’imyelayo+ uzosadukira hagati+, kuva i burasirazuba gushika mu burengero. Hazoba umubande munini cane; igice kimwe c’uwo musozi kizokwikumira kija mu buraruko, ikindi na co cikumire kija mu bumanuko. 5 Muzohungira mu mubande wo hagati y’imisozi yanje+; kuko nya mubande uzoshika i Azeli. Muzohunga koko, nka kumwe mwahunga kubera nyamugigima mu misi ya Uziya umwami wa Yuda+. Yehova Imana yanje azoza koko+, kandi aberanda biwe bose bazoba bari kumwe na we+.

6 “Kuri uwo musi nta muco w’agaciro uzoboneka+—ibintu bizokanya bigumarare+. 7 Kandi uwo musi uzoba vy’ukuri umusi umwe uzwi ko ari uwa Yehova+. Ntihazoba umurango canke ijoro+; ku mugoroba hazoba umuco+. 8 Kuri uwo musi, amazi mazima+ azova i Yeruzalemu+, igice kimwe cayo kije mu kiyaga co mu buseruko+, ikindi na co kije mu kiyaga co mu burengero+. Ivyo bizoba mu ci no mu rushana+. 9 Emwe, Yehova azoba umwami w’isi yose+. Kuri uwo musi, Yehova azoba umwe+, n’izina ryiwe ribe rimwe+.

10 “Igihugu cose kizohindurwa kibe nka Araba+, kuva i Geba+ gushika i Rimoni+ mu bumanuko bwa Yeruzalemu; Yeruzalemu izohaguruka ibemwo abantu, mu kibanza cayo+, kuva kw’Irembo rya Benyamini+ gushika ahari Irembo rya Mbere, gushika kw’Irembo ryo mu Mfuruka, no kuva ku Munara wa Hananeli+ gushika ku bikono vy’umwami baganiramwo. 11 Abantu bazohaba vy’ukuri; kandi ntihazosubira kuba ivy’ukugenera umuntu agatikizo+, kandi Yeruzalemu bazoyibamwo koko mu mutekano+.

12 “Iki ni co kiza Yehova azoteza ibisata vy’abantu bizotera koko Yeruzalemu+: Inyama z’umuntu zizomuborerako ahagaze+; amaso y’umuntu azoborera mu binogo vyayo, ururimi rw’umuntu na rwo ruborere mu kanwa kiwe.

13 “Kuri uwo musi, umuvurungano uvuye kuri Yehova uzokwiragira muri bo+; umwe wese azocakira ukuboko kwa mugenziwe, kandi ukuboko kwiwe kuzorwanya ukuboko kwa mugenziwe. 14 Yuda na yo nyene izorwanira i Yeruzalemu; kandi ubutunzi bw’amahanga yose ahakikije buzokwegeranywa koko: inzahabu n’ifeza n’impuzu, vyinshi rwose+.

15 “Uku ni ko ikiza kizotera ifarasi n’inyumpu n’ingamiya n’indogobwa y’ingabo n’ubwoko bwose bw’igitungwa kiri muri ayo makambi kizomera: kizomera nka nya kiza.

16 “Kandi abasigaye bose mu mahanga yose aza gutera Yeruzalemu+, bazoduga koko ku mwaka ku mwaka+ kwunamira wa Mwami+, Yehova nyen’ingabo+, no guhimbaza umusi mukuru w’insago+. 17 Abo mu miryango+ yo kw’isi bose batazoduga+ i Yeruzalemu kwunamira wa Mwami, Yehova nyen’ingabo, emwe, nta mvura izogwa iwabo+. 18 Kandi umuryango wa Misiri nutaduga ngo winjire koko, na bo nyene nta mvura izogwa iwabo. Hazotera ikiza Yehova ateza amahanga ataduga guhimbaza umusi mukuru w’insago. 19 Ico ni co kizoba igihano c’igicumuro ca Misiri n’igicumuro c’amahanga yose ataduga guhimbaza umusi mukuru w’insago+.

20 “Kuri uwo musi, ku nzogera z’ifarasi hazoba handitsweko+ ngo: ‘Ubweranda ni ubwa Yehova+!’ Kandi inkono z’iminwa minini+ zo mu nzu ya Yehova zizoba koko nk’amabakure+ ari imbere y’igicaniro+. 21 Emwe, inkono yose y’umunwa munini iri i Yeruzalemu no muri Yuda izoba ikintu ceranda ca Yehova nyen’ingabo, kandi abashikana ibimazi bose bazoza bazitore, maze bazitekemwo+. Kuri uwo musi, nta Munyakanani+ azoba akigera mu nzu ya Yehova nyen’ingabo+.”

Raba Inyongera ya 21.

Ako gakoresho ni akuma karemereye gacundeba ku mugozi, kagakoreshwa bwa nivo ipima amahagarara.

Raba Inyongera ya 21.

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Ijambo ku rindi ni “boroshe mu maso ha.”

Canke, “mu ntara yo hasi.”

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”

Ijambo ku rindi ni “kworosha mu maso ha.”

Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”

Ijambo ku rindi ni “umushehe.” Ni ijambo ry’igiheburayo rivuye kw’itsitso risobanura “igihumbi,” rikaba risobanura “indongozi y’igihumbi.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.

Raba Zk 9:7, akajambo k’epfo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika