Ivyahishuriwe Yohani
1 Ivyahishuwe+ na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye+ ngo yereke abashumba bayo+ ibintu bitegerezwa kuba vuba+. Na we yatumye umumarayika wiwe+ hanyuma abishikiriza biciye kuri we mu bimenyetso+, bishikirizwa umushumba wayo* Yohani+, 2 uwashingiye intahe ijambo Imana yatanze+ n’intahe Yezu Kristu yashinze+, mbere n’ibintu vyose yabonye. 3 Hahiriwe+ uwusoma n’ijwi ryumvikana+ be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi+, kandi bakubahiriza ibintu vyanditswe muri bwo+; kuko igihe cashinzwe kiri hafi+.
4 Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe mashengero indwi+ ari mu ntara ya Aziya:
Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva kuri “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+,” no kuri za mpwemu indwi+ ziri imbere y’intebe y’ubwami yiwe, 5 no kuri Yezu Kristu, “ca Cabona Cizigirwa+,” “Imfura mu kuva mu bapfuye+,” n’“Umutware w’abami b’isi+.”
Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe bwite+— 6 kandi yatugize ubwami+, abaherezi+ ku Mana yiwe ikaba na Data—egome, ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivyiwe ibihe vyose+. Amen.
7 Ehe ariko arazanana n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona+, n’abamucumise bazomubona+; kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Egome, Amen.
8 “Ndi Alufa na Omega*+,” ni ko Yehova Imana avuga, “Umwe ariho kandi yariho kandi ariko araza+, Mushoboravyose+.”
9 Jewe Yohani, mwene wanyu nkaba n’uwusangiye namwe amakuba+ n’ubwami+ n’ukwihangana+ mu kwifatanya na Yezu+, nari mw’izinga ryitwa Patimo mporwa ukuvuga ivyerekeye Imana n’ugushingira intahe Yezu+. 10 Biciye ku guhumekerwa+ nasanze ndi+ mu musi w’Umukama+, maze numva inyuma yanje ijwi rikomeye+ nk’iry’urumbete, 11 rivuga riti: “Ico ubona ucandike+ mu muzingo uheze ukirungikire ya mashengero indwi+: i Efeso+ n’i Simuruna+ n’i Perugamo+ n’i Tiyatira+ n’i Sarudi+ n’i Filadelufiya+ n’i Lawodiseya+.”
12 Maze mpindukira kuraba nya jwi ryariko rivugana nanje, mpindukiye mbona ibitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+, 13 kandi hagati ya nya bitereko vy’amatara mbona uwumeze nk’umwana w’umuntu+, yambaye impuzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza. 14 Vyongeye, umutwe wiwe n’umushatsi wiwe vyarera+ nk’ubwoya bw’intama bwera, nk’urubura, amaso yiwe na yo akaba yari ameze nk’urubeya rw’umuriro+; 15 kandi amaguru yiwe yari ameze nk’umujumpu uramuye+ igihe wakaka mw’itanure; kandi ijwi+ ryiwe ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi. 16 Kandi yari afise mu kuboko kwiwe kw’ukuryo inyenyeri indwi+, mu kanwa kiwe hasokorokamwo inkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe+, mu maso hiwe na ho hari hameze nk’izuba iyo rikayanganye mu bubasha bwaryo+. 17 Aho ndamuboneye, ngwa nk’uwapfuye imbere y’ibirenge vyiwe.
Maze anshirako ukuboko kwiwe kw’ukuryo, avuga ati: “Ntutinye+. Ndi uwa Mbere+ n’uwa Nyuma+, 18 n’umwe ari muzima+; kandi narapfuye+, mugabo, ehe ndi muzima ibihe bitazoshira+, kandi mfise impfunguruzo z’urupfu+ n’iz’ukuzimu+. 19 Andika rero ivyo wabonye, n’ibiriho be n’ibizoba inyuma y’ibi+. 20 Ku vyerekeye ibanga ryeranda ry’inyenyeri indwi+ wabonye mu kuboko kwanje kw’ukuryo, n’irya vya bitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+: Zirya nyenyeri indwi zigereranya abamarayika ba ya mashengero indwi, birya bitereko vy’amatara indwi na vyo bikagereranya amashengero indwi+.
2 “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Efeso+ uti: Ibi ni vyo avuga umwe afashe za nyenyeri indwi+ mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, umwe agendagenda hagati ya vya bitereko vy’amatara indwi vy’inzahabu+: 2 ‘Ndazi ibikorwa vyawe+, n’ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe, be n’uko udashobora kwihanganira abantu babi, be n’uko wagejeje+ abavuga ko ari intumwa+, mugabo atari zo, usanga ni ababeshi. 3 Urerekana kandi ukwihangana+, kandi wararindiyeko ku bw’izina ryanje+, ntiwarambirwa+. 4 Yamara rero, mfise iki kintu nkugaya: ni uko waretse urukundo wari ufise ubwa mbere+.
5 “‘Ibuka rero aho watemvye uva, maze wigaye+, ukore ibikorwa vya kera. Utabigize, ndaje kuri wewe+, kandi nzokura igitereko c’amatara+ cawe mu kibanza caco, kiretse wigaye. 6 Yamara rero urafise iki kintu: uranka+ ibikorwa vya wa muce wa Nikola+, ivyo na jewe nanka. 7 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero: Uwutsinda+ nzomuha kurya ku giti c’ubuzima+ kiri mw’iparadizo y’Imana.’
8 “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Simuruna na we uti: Ibi ni vyo avuga umwe ‘wa Mbere n’uwa Nyuma+,’ uwapfuye akongera kuba muzima+: 9 ‘Ndazi amakuba yawe n’ubworo bwawe—mugabo uri umutunzi+—nkamenya n’ukurogota kw’abivuga ko ari Abayuda+ yamara atari bo, ahubwo ari isinagogi ya Shetani+. 10 Ntutinye ibigira bigushikire+. Ehe Shetani*+ azoguma ata mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira ngo mugezwe bimwe bishitse+, no kugira ngo mugire amakuba+ imisi cumi. Erekana ko uri umwizigirwa no gushika ku rupfu+, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+. 11 Uwuri n’ugutwi niyumve+ ico impwemu+ ibwira amashengero: Uwutsinda+, urupfu rwa kabiri+ nta co ruzogenda rumugize.’
12 “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo na we uti: Ibi ni vyo avuga umwe afise ya nkota ndende y’ubugi bubiri, ikarishe+: 13 ‘Ndazi aho uba, ni ukuvuga aho intebe y’ubwami ya Shetani iri; yamara ubandanya kugumya izina ryanje+, kandi ntiwihakanye ukwizera ufise muri jewe+ mbere no mu misi ya Antipa, icabona+ canje, umwizigirwa, uwiciwe+ iruhande yanyu, aho Shetani aba.
14 “‘Yamara rero, ndafise ibintu bikeyi nkugaya: ni uko iwawe ufise abagumya inyigisho ya Balamu+, umwe yigisha Balaki+ gushira igitsitaza imbere ya bene Isirayeli, ngo barye ivyashikaniwe ibigirwamana ngo bongere bakore ubusambanyi+. 15 Na wewe nyene urafise abagumya inyigisho ya wa muce wa Nikola+. 16 Niwigaye rero+. Utabigize, ndaje kuri wewe ningoga, kandi nzorwana+ na bo nkoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kanje+.
17 “‘Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: Uwutsinda+ nzomuha kuri manu*+ yanyegejwe, kandi nzomuha akabuye kera, kuri nya kabuye hakaba handitseko izina rishasha+ ata n’umwe arizi atari uwurironka+.’
18 “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Tiyatira+ na we uti: Ibi ni vyo Umwana+ w’Imana avuga, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro+, ibirenge vyiwe na vyo bikaba bimeze nk’umujumpu uramuye+: 19 ‘Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo+ rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa+ vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere+.
20 “‘Yamara rero, mfise iki kintu nkugaya: ni uko urekerana urya mugore Yezebeli+ yiyita umuhanuzikazi, akigisha+ akongera akazimiza abashumba banje+ ngo bakore ubusambanyi+ bongere barye ivyashikaniwe ibigirwamana+. 21 Kandi naramuhaye umwanya wo kwigaya+, mugabo ntagomba kwigaya ubusambanyi+ bwiwe. 22 Ehe ngira ndamute ku buriri bw’umurwayi, n’abarengana ibigo na we ndabate mu makuba akomeye, kiretse bigaye ibikorwa vyiwe. 23 Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu+.
24 “‘Ariko rero, mbwira abasigaye bo muri mwebwe bari i Tiyatira, abo bose badafise iyo nyigisho, barya nyene batamenye “ibintu vyimbitse vya Shetani+,” nk’uko bavuga, nti: Nta wundi muzigo ndabikoreje+. 25 Kimwe gusa, mugumye ico mufise+ gushika nje. 26 Kandi uwutsinda akongera akisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo+ nzomuha ububasha ku mahanga+, 27 nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma+ ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba+, 28 kandi nzomuha inyenyeri y’agatondo+. 29 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero+.’
3 “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Sarudi na we uti: Ibi ni vyo avuga uwufise za mpwemu indwi+ z’Imana be na za nyenyeri indwi+: ‘Ndazi ibikorwa vyawe, yuko ufise izina ry’uko uri muzima, mugabo uri umupfu+. 2 Ba maso+ kandi ukomeze+ ibisigaye vyagira bipfe, kuko ibikorwa vyawe ntasanze birangutse bimwe bishitse imbere y’Imana yanje+. 3 Guma wibuka rero ingene wahawe+ n’ingene wumvise, maze ubandanye kubigumya+, uheze wigaye+. Vy’ukuri utikanguye+, nzoza nk’igisuma+, kandi ntuzogenda umenye isaha nzozira kuri wewe+.
4 “‘Yamara rero, urafise amazina+ makeyi i Sarudi atahumanije+ impuzu zayo zo hejuru, kandi bazogendana nanje bambaye impuzu zo hejuru zera+, kuko babibereye+. 5 Uwutsinda+ azokwambikwa rero impuzu zo hejuru zera+; kandi sinzogenda mpanaguye izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima+, mugabo nzokwemanga izina ryiwe imbere ya Data+ n’imbere y’abamarayika biwe+. 6 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero.’
7 “Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Filadelufiya na we uti: Ibi ni vyo avuga wa wundi ari mweranda+, wa wundi w’ukuri+, wa wundi afise urupfunguruzo rwa Dawidi+, wa wundi yugurura ku buryo ata n’umwe yugara, kandi yugara ku buryo ata n’umwe yugurura: 8 ‘Ndazi ibikorwa vyawe+—ehe nshize imbere yawe umuryango wuguruye+, uwo ata n’umwe ashobora kwugara—yuko ufise ububasha bukeyi, ukaba waragumije ijambo ryanje, ukaba kandi utihakanye izina ryanje+. 9 Ehe nzotanga abo mw’isinagogi ya Shetani bavuga ko ari Abayuda+ yamara atari bo, ahubwo babesha+—ehe nzotuma baza bikubite+ imbere y’ibirenge vyawe nongere ndabamenyeshe yuko nagukunze. 10 Ko wagumije ijambo ryerekeye ukwihangana+ kwanje, nanje nzokurinda+ isaha y’ukugeragezwa, iyibwirizwa kuza kw’isi yose, kugerageza ababa kw’isi+. 11 Ndaje ningoga+. Bandanya kugumya ico ufise+, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe atwara urugori+ rwawe.
12 “‘Uwutsinda—nzomugira inkingi+ mu rusengero+ rw’Imana yanje+, kandi ntazogenda yongeye gusohoka ngo aruvemwo, kandi nzomwandikako izina ry’Imana yanje n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu+ nshasha imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, be na rya zina ryanje rishasha+. 13 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero.’
14 “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Lawodiseya+ na we uti: Ibi ni vyo Amen+ avuga, ca cabona+ cizigirwa+ kandi c’ukuri+, intango y’ivyaremwe n’Imana+: 15 ‘Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakanye canke ngo ushuhe. Icompa ugakanya canke ugashuha. 16 Ko rero uri akazuyazi, ntube ushushe+ canke ngo ukanye+, ngira nkudahwe umve mu kanwa. 17 Kuko uvuga ngo: “Ndi umutunzi+ kandi narironkeye ubutunzi kandi nta co nkenye,” mugabo ntumenye ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umworo, ko uri impumyi+ be n’uko uri gusa; 18 nkugiriye inama ngo ungureko inzahabu+ ityorojwe umuriro kugira ngo ube umutunzi, n’impuzu zo hejuru zera kugira ngo wambare no kugira ngo isoni z’ubwambure bwawe ntizerekanwe+, n’umuti wo gusiga mu maso+ yawe kugira ngo ubone.
19 “‘Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero+. Nugire umwete rero, wigaye+. 20 Ehe mpagaze ku muryango+ ndodora. Nihagira uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango+, nzokwinjira mu nzu yiwe nsangire na we imfungurwa zo ku mugoroba, na we asangire nanje. 21 Uwutsinda+ nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’ubwami yanje+, nk’uko nanje nyene natsinze nkicarana+ na Data ku ntebe y’ubwami yiwe+. 22 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu+ ibwira amashengero+.’”
4 Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona umuryango wuguruye mw’ijuru, kandi ijwi rya mbere numvise ryari nk’iry’urumbete+, rivugana nanje, riti: “Duga hano+, nkwereke ibintu bitegerezwa kuba+.” 2 Hanyuma y’ivyo, buno nyene mba mu bubasha bw’impwemu: maze mbona intebe y’ubwami+ yari mu kibanza cayo mw’ijuru+, kandi hari uwari yicaye kuri nya ntebe+. 3 Kandi uwari yicaye, uravye ishusho yiwe+, yasa n’ibuye ryitwa yasipi+ be n’ibuye ry’agaciro ry’ibara ritukura, hirya no hino ya nya ntebe na ho hakaba umunywamazi+ usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode+.
4 Kandi hirya no hino ya nya ntebe hari intebe z’ubwami mirongo ibiri na zine, kandi kuri izo ntebe z’ubwami+ mbona hicaye abakurambere*+ mirongo ibiri na bane+ bambaye impuzu zo hejuru zera+, ku mitwe yabo na ho hakaba ingori z’inzahabu+. 5 Kandi kuri nya ntebe hava imiravyo+ n’amajwi n’imituragaro+; kandi hari amatara+ indwi y’umuriro yakira imbere ya nya ntebe, ayo akaba agereranya za mpwemu indwi+ z’Imana. 6 Kandi imbere ya nya ntebe hari ico womenga ni ikiyaga c’ikiyo+ kimeze nk’ibuye ry’agaciro ryitwa kirisitalo.
Kandi hagati ya nya ntebe no hirya no hino yayo hari ibinyabuzima bine+ vyuzuyeko amaso imbere n’inyuma. 7 Ikinyabuzima ca mbere cari kimeze nk’intambwe+, ikinyabuzima ca kabiri na co nk’ikimasa+, ikinyabuzima ca gatatu+ na co cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, ikinyabuzima ca kane+ na co kikaba kimeze nk’inkona+ iriko iraguruka. 8 Kandi ku vyerekeye ivyo binyabuzima bine+, kimwekimwe muri vyo uko bikurikirana gifise amababa atandatu+; hirya no hino be no munsi vyuzuyeko amaso+. Kandi nta karuhuko bigira ku murango no mw’ijoro kuko biguma bivuga biti: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova+ Imana, Mushoboravyose+, uwariho kandi ariho+ kandi ariko araza.”
9 Kandi igihe cose nya binyabuzima bihaye ubuninahazwa n’iteka n’ugukenguruka+ Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, Umwe abaho ibihe bitazoshira+, 10 ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ baca bikubita hasi imbere y’Umwe yicaye kuri ya ntebe bagasenga+ Umwe abaho ibihe bitazoshira, bagaterera ingori zabo imbere y’iyo ntebe, bakavuga bati: 11 “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa+ n’iteka+ n’ububasha+, kubera ko waremye vyose+, kandi kubera ukugomba kwawe+ vyarabayeho, biraremwa+.”
5 Kandi mbona mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma+, uhomeshejwe+ rwose udushashara indwi tudomweko ikidodo. 2 Maze mbona umumarayika w’inkomezi atangaza n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?” 3 Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke munsi y’isi ntihagira n’umwe ashobora kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo. 4 Nanje nca ndarira cane kuko hatabonetse n’umwe abereye kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo+. 5 Mugabo umwe muri ba bakurambere ambwira ati: “Reka kurira. Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kugira ngo azingurure uwo muzingo amature n’udushashara indwi twawo.”
6 Maze mbona hagati ya ya ntebe+ no hagati ya vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+ hahagaze umwagazi w’intama+ nk’aho wari warishwe+, ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya za mpwemu+ indwi z’Imana zatumwe mw’isi yose. 7 Aca aragenda, buno nyene arawutora mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe+. 8 Maze atoye nya muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ bikubita hasi imbere ya wa Mwagazi w’intama, umwe wese muri bo afise inanga+ n’amabakure y’inzahabu yuzuye imibavu*+, nya mibavu ikaba igereranya amasengesho+ y’aberanda. 9 Kandi baririmba ururirimbo rushasha+, bati: “Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe, kandi ukoresheje amaraso+ yawe ukaba waguriye+ Imana+ abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose, 10 kandi wabagize ubwami+ n’abaherezi+ ku Mana yacu+, kandi bazoganza isi+.”
11 Hanyuma ndabona, maze numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, kandi igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo+ n’ibihumbi vy’ibihumbi+, 12 bavuga n’ijwi rirenga bati: “Wa Mwagazi w’intama wishwe+ urabereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubukerebutsi n’inkomezi n’iteka n’ubuninahazwa n’umuhezagiro+.”
13 Maze ikiremwa cose kiri mw’ijuru no kw’isi no munsi y’isi+ no ku kiyaga, be n’ibintu vyose biri muri vyo, numva bivuga biti: “Umuhezagiro n’iteka+ n’ubuninahazwa+ n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami+ n’ivy’urya Mwagazi w’intama+ ibihe bitazoshira.” 14 Hanyuma vya binyabuzima bine bivuga biti: “Amen!”, ba bakurambere+ baca bikubita hasi, barasenga+.
6 Hanyuma ndabona aho wa Mwagazi w’intama+ amaturiye kamwe muri twa dushashara indwi tudomweko ikidodo+, maze numva kimwe muri vya binyabuzima bine+ kivuga n’ijwi nk’iry’umuturagaro giti: “Ingo+!” 2 Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi yera+; kandi uwuyicayeko+ yari afise umuheto+; ahabwa urugori+, agenda atsinda+ no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe+.
3 Maze amatuye agashashara kagira kabiri, numva ikinyabuzima kigira kabiri+ kivuga giti: “Ingo!” 4 Maze haza iyindi, ifarasi y’ibara ry’umuriro; kandi uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira ngo bicane; kandi ahabwa inkota nini+.
5 Maze amatuye+ agashashara kagira gatatu, numva ikinyabuzima kigira gatatu+ kivuga giti: “Ingo!” Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane+ mu minwe. 6 Maze numva ijwi nk’aho riri hagati+ ya vya binyabuzima bine+ rivuga riti: “Igemeri y’ingano kw’idenariyo*+, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu+.”
7 Maze amatuye agashashara kagira kane, numva ijwi ry’ikinyabuzima kigira kane+ rivuga riti: “Ingo!” 8 Hanyuma ngize ntya, mbona ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko ryari Rupfu. Kandi Kuzimu+ yamukurikira agendera hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi, ngo bicishe inkota+ ndende n’amapfa+ n’ikiza cica be n’ibikoko+ vyo kw’isi.
9 Maze amatuye agashashara kagira gatanu, mbona munsi y’igicaniro+ ubuzima+ bw’abishwe+ kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa bahora bafise co gushinga intahe+. 10 Maze basemerera n’ijwi rirenga, bavuga bati: “Uzogeza ryari ga Mukama Segaba+ mweranda kandi w’ukuri+, kureka guca urubanza+ no guhora amaraso+ yacu ababa kw’isi?” 11 Maze umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera+; hanyuma babwirwa kuruhuka kandi gatoyi, gushika aho n’igitigiri c’abashumba bagenzi babo na bene wabo bagira bicwe nk’uko na bo nyene bari bishwe+, gikwizwa.
12 Maze ndabona aho amaturiye agashashara kagira gatandatu, maze haba nyamugigima ikomeye; izuba ririrabura nk’igunira*+ ry’ubwoya, ukwezi kwose na kwo guhinduka nk’amaraso+, 13 inyenyeri zo kw’ijuru na zo zikoragurikira kw’isi, nk’igihe igiti c’umusukoni kinyiganyijwe n’umuyaga ukomeye gitibagura insukoni z’ibiturumbwe. 14 Maze ijuru riragenda nk’umuzingo uriko urazingwa+, kandi umusozi wose n’izinga ryose bikurwa mu bibanza vyavyo+. 15 Maze abami b’isi n’abo ku rwego rwo hejuru n’abakomanda ba gisirikare n’abatunzi n’abakomeye n’umushumba wese n’umuntu wese yidegemvya binyegeza mu masenga no mu bitandara+ vyo mu misozi. 16 Kandi baguma babwira nya misozi na nya bitandara ngo: “Nimutugweko+ muduhishe amaso y’Umwe yicaye ku ntebe y’ubwami+ n’uburake bwa wa Mwagazi w’intama+, 17 kuko umusi uhambaye+ w’uburake+ bwabo uje, kandi ni nde ashobora guhagarara+?”
7 Inyuma y’ivyo mbona abamarayika+ bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe bagumije ya miyaga ine+ y’isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhuhutira kw’isi canke ku kiyaga canke ku giti na kimwe+. 2 Mbona kandi uwundi mumarayika aduga ava i burasirazuba+, afise ikidodo c’Imana nzima+; asemerera n’ijwi rirenga abwira ba bamarayika bane bahawe kugirira nabi isi n’ikiyaga, 3 ati: “Ntihagire ico mugira isi canke ikiyaga canke ibiti, gushika tumaze kudoma ikidodo+ ku bashumba b’Imana yacu mu ruhanga rwabo+.”
4 Maze numva igitigiri c’abadomweko ikidodo: ibihumbi ijana na mirongo ine na bine+, badomweko ikidodo bo mu miryango yose+ ya bene Isirayeli+:
5 Mu muryango wa Yuda+, ni ibihumbi cumi na bibiri badomweko ikidodo;
mu muryango wa Rubeni+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Gadi+, ibihumbi cumi na bibiri;
6 mu muryango wa Asheri+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Nafutali+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Manase+, ibihumbi cumi na bibiri;
7 mu muryango wa Simeyoni+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Lewi+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Isakari+, ibihumbi cumi na bibiri;
8 mu muryango wa Zebuloni+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Yozefu+, ibihumbi cumi na bibiri;
mu muryango wa Benyamini+, ibihumbi cumi na bibiri badomweko ikidodo+.
9 Inyuma y’ivyo, ngize ntya mbona isinzi rinini+ ata wari ashoboye guharura, bo mu mahanga yose+ n’imiryango yose n’ibisata vyose+ n’indimi zose+, bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami+ n’imbere ya wa Mwagazi w’intama, bambaye amakanzu yera+; kandi mu minwe yabo hari amashami y’ibigazi+. 10 Kandi baguma basemerera n’ijwi rirenga, bati: “Ubukiriro tubukesha Imana yacu+ yicaye kuri irya ntebe y’ubwami+, be n’urya Mwagazi w’intama+.”
11 Kandi abamarayika bose+ bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’ubwami na ba bakurambere+ na vya binyabuzima bine+, maze bubarara hasi imbere ya ya ntebe y’ubwami, basenga Imana+, 12 bavuga bati: “Amen! Umuhezagiro n’ubuninahazwa n’ubukerebutsi n’ugukenguruka n’iteka n’ububasha+ n’inkomezi bibe ivy’Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen+.”
13 Maze umwe muri ba bakurambere+ aca ambwira ati: “Aba bambaye amakanzu yera+, ni bande kandi bavuye hehe?” 14 Buno nyene nca ndamubwira nti: “Mukama wanje, ni wewe ubizi.” Na we ambwira ati: “Aba ni abavuye muri ya makuba akomeye+, kandi bamesuye amakanzu yabo bayeza+ mu maraso+ ya wa Mwagazi w’intama. 15 Ni co gituma bari imbere+ y’intebe y’ubwami y’Imana; kandi bariko bayikorera igikorwa ceranda+ umurango n’ijoro mu rusengero rwayo; kandi Uwicaye kuri iyo ntebe y’ubwami+ azosanza ihema ryiwe+ hejuru yabo. 16 Ntibazokwongera gusonza canke kunyoterwa, eka n’izuba ntirizokwongera kubaturira canke hagire ubushuhe bubababura+, 17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobarongora ku masôko y’amazi+ y’ubuzima. Kandi Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.”
8 Amatuye+ agashashara kagira indwi+, haba agacerere mw’ijuru nk’igice c’isaha. 2 Maze mbona ba bamarayika indwi+ bahagaze imbere y’Imana, hanyuma bahabwa inzumbete indwi.
3 Hanyuma uwundi mumarayika arashika ahagarara imbere y’igicaniro+, afise icotezo c’imibavu c’inzahabu; ahabwa imibavu+ myinshi kugira ngo ayishikane iri kumwe n’amasengesho y’aberanda bose ku gicaniro c’inzahabu cari imbere ya ya ntebe y’ubwami. 4 Maze umwotsi wa nya mibavu uraduga imbere y’Imana uvuye mu kuboko kwa wa mumarayika uri kumwe n’amasengesho+ y’aberanda. 5 Mugabo buno nyene nya mumarayika atora ca cotezo c’imibavu, acuzuza umuriro+ arahuye ku wo ku gicaniro hanyuma akiraririza kw’isi+. Haba imituragaro+ n’amajwi n’imiravyo+ be na nyamugigima+. 6 Maze ba bamarayika indwi bafise za nzumbete+ indwi+ bitegurira kuzivuza.
7 Uwa mbere avuza urumbete rwiwe. Haca haba urubura n’umuriro+ uvanze n’amaraso, hanyuma biraririzwa kw’isi; ica gatatu c’isi kiraturirwa+, n’ica gatatu c’ibiti kiraturirwa, n’ivyatsi bitoto+ vyose biraturirwa.
8 Umumarayika agira kabiri na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikintu kimeze nk’umusozi+ munini waka umuriro kiraririzwa mu kiyaga+. Ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso+; 9 kandi ica gatatu c’ibiremwa biri mu kiyaga bifise ubuzima kirapfa+, n’ica gatatu c’amato kirasaba.
10 Umumarayika agira gatatu na we avuza urumbete rwiwe. Maze ikinyenyeri kinini caka nk’itara gikoroka kivuye mw’ijuru+, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi no ku masôko y’amazi+. 11 Kandi izina ry’ico kinyenyeri ni Bamba. Ica gatatu ca nya mazi gica gihinduka ibamba, benshi mu bantu na bo bicwa n’ayo mazi, kuko yari yacitse umururazi+.
12 Umumarayika agira kane na we avuza urumbete rwiwe. Maze ica gatatu c’izuba kirakubitwa, n’ica gatatu c’ukwezi n’ica gatatu c’inyenyeri, kugira ngo ica gatatu cavyo gicure umwiza+, n’umurango ntugire umuco mu ca gatatu+ cawo, n’ijoro ukwo nyene.
13 Hanyuma ndabona, maze numva inkona+ iguruka hagati mu kirere+ ivuga n’ijwi rirenga iti: “Amagorwa, amagorwa, amagorwa+ ku baba kw’isi kubera ukuvuza inzumbete gusigaye kw’abamarayika batatu bagira bavuze inzumbete zabo+!”
9 Umumarayika agira gatanu na we avuza urumbete rwiwe+. Nca mbona inyenyeri+ yari yakorotse ivuye mw’ijuru ikagwa kw’isi, kandi ahabwa urupfunguruzo+ rw’icobo c’inyenga+. 2 Araheza yugurura ca cobo c’inyenga, umwotsi+ uca uduga uvuye muri nya cobo nk’umwotsi w’itanure rinini+, izuba n’ikirere bica bicurishwa umwiza+ n’umwotsi wa nya cobo. 3 Muri nya mwotsi havamwo inzige+, ziza kw’isi; zihabwa ububasha, ububasha nk’ubw’utumina+ two kw’isi. 4 Zibwirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi canke ikintu gitoto na kimwe canke igiti na kimwe, kiretse gusa barya bantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo+.
5 Maze za nzige zihabwa uruhusha, atari urwo kubica, ahubwo kugira ngo bano bababazwe+ amezi atanu, kandi ububabare batejwe bwari nk’ububabare buterwa n’akamina+ iyo gakomoye umuntu. 6 Kandi muri iyo misi abantu bazorondera urupfu+ mugabo ntibazogenda baruronse, kandi bazokwipfuza gupfa mugabo urupfu ruzoguma rubahunga.
7 Kandi nya nzige, uko zari zimeze, zasa n’amafarasi+ ateguriwe indwano; ku mitwe yazo hari ibimeze nk’ingori zisa n’inzahabu, mu maso hazo na ho hakamera nko mu maso h’abantu+, 8 mugabo zari zifise imishatsi nk’iy’abagore+. Amenyo yazo na yo yari nk’ay’intambwe+; 9 kandi zari zifise ibikingira igikiriza+ bimeze nk’ivy’icuma. Kandi umuhindo w’amababa yazo wari nk’umuhindo w’imikogote+ y’amafarasi menshi yiruka aja mu ntambara+. 10 Vyongeye, zifise imirizo n’imboyi nk’utumina+; kandi mu mirizo yazo ni ho hari ububasha bwazo bwo kubabaza abantu amezi atanu. 11 Zifise umwami azigaba, umumarayika w’inyenga+. Mu giheburayo izina ryiwe ni Abadoni, mugabo mu kigiriki ni Apoliyoni+.
12 Amagorwa amwe ararenganye. Ehe ayandi magorwa+ abiri agira aze inyuma y’ivyo.
13 Umumarayika agira gatandatu+ na we avuza urumbete rwiwe+. Maze numva ijwi+ rimwe rivuye mu mahembe ya ca gicaniro+ c’inzahabu kiri imbere y’Imana 14 ribwira nya mumarayika agira gatandatu yari afise urumbete, riti: “Bohora ba bamarayika bane+ babohewe+ kuri rwa ruzi runini Efurate+.” 15 Nya bamarayika bane barabohorwa, bakaba ari abateguwe ku bw’iyo saha n’umusi n’ukwezi n’umwaka, ngo bice ica gatatu c’abantu.
16 Igitigiri ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi na co cari ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo: narumvise igitigiri cazo. 17 Kandi uku ni ko nabonye nya mafarasi mw’iyerekwa, n’abayicayeko: bari bafise ibikingira igikiriza bitukura nk’umuriro, vy’ubururu nk’ubw’akabuye kitwa yasenti, n’umuhondo nk’uw’amazuku; kandi imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’intambwe+, mu minwa yayo na ho hakavamwo umuriro n’umwotsi n’amazuku+. 18 Ica gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago bitatu, kubera umuriro n’umwotsi be n’amazuku vyava mu minwa yayo. 19 Kuko ububasha bw’ayo mafarasi buri mu minwa yayo no mu mirizo yayo; kuko imirizo yayo imeze nk’inzoka+ ikagira n’imitwe, kandi ivyo ni vyo aryanisha.
20 Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo+, ngo ntibasenge amadayimoni*+ be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende+; 21 kandi ntibigaye ubwicanyi+ bwabo canke ubupfumu+ bwabo canke ubusambanyi bwabo canke ubusuma bwabo.
10 Maze mbona uwundi mumarayika w’inkomezi+ amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu+, kandi umunywamazi wari ku mutwe wiwe, mu maso hiwe hakaba hari hameze nk’izuba+, amaguru yiwe+ na yo yari nk’inkingi z’umuriro, 2 kandi yari afise mu kuboko kwiwe akazingo gatoya kazinguruye. Ashinga ukuguru kwiwe kw’ukuryo ku kiyaga, mugabo ukw’ukubamfu agushinga kw’isi+, 3 asemerera n’ijwi rirenga nk’igihe intambwe+ iroshe. Buno asemereye, ya mituragaro indwi+ irekura imyasano yayo bwite.
4 Igihe iyo mituragaro indwi yavuga, nagira nandike; mugabo nca numva ijwi rivuye mw’ijuru+ rivuga riti: “Ibintu iyo mituragaro indwi ivuze nubibike nk’ibidomweko ikidodo+, kandi ntuvyandike.” 5 Maze wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga no kw’isi aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo akwerekeza mw’ijuru+, 6 arahira Uwubaho+ ibihe bitazoshira+ yaremye ijuru n’ibiri muri ryo n’isi+ n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co+, ati: “Nta guteba+ kukihabaye; 7 mugabo mu misi y’ukwumvikana kw’ijwi ry’umumarayika agira indwi+, igihe azoba agira avuze urumbete rwiwe+, ibanga ryeranda+ ry’Imana nk’uko inkuru nziza iri, iyo yamenyesheje abashumba bayo bwite ari bo bahanuzi+, rizoba koko rirangijwe.”
8 Hanyuma rya jwi+ numvise rivuye mw’ijuru ryongera kuvugana nanje riti: “Genda, utore urya muzingo uzinguruye uri mu kuboko kw’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga no kw’isi+.” 9 Nca nja kuri wa mumarayika ndamubwira kumpa ka kazingo gatoya. Araheza ambwira ati: “Kakire ukarye+, kandi kaza gutuma mu nda yawe harura, mugabo mu kanwa kawe kaza gusosa nk’ubuki.” 10 Ndaheza nakira nya kazingo gatoya mu kuboko kwa wa mumarayika ndakarya+, mu kanwa kanje gasosa nk’ubuki+; mugabo aho mariye kukarya, mu nda hanje hararura. 11 Baca bambwira bati: “Utegerezwa kwongera kuvuga ubuhanuzi ku bijanye n’ibisata n’amahanga n’indimi n’abami benshi+.”
11 Maze mpabwa irenga rimeze nk’inkoni+ igihe yavuga ati: “Haguruka ugere aheranda h’urusengero+ rw’Imana n’igicaniro be n’abahasengera. 2 Nayo urugo ruri hanze+ y’aheranda h’urusengero, rute hanze, nturugere, kuko ruhawe amahanga+, kandi azohonyangira ca gisagara ceranda+ munsi y’ibirenge amezi mirongo ine n’abiri+. 3 Kandi vya vyabona vyanje bibiri+ nzotuma bivuga ubuhanuzi+ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu vyambaye amagunira+.” 4 Abo bagereranywa na vya biti vy’imyelayo bibiri+ na vya bitereko vy’amatara bibiri+, kandi bahagaze imbere y’Umukama w’isi+.
5 Kandi hagize uwushaka kubagirira nabi, umuriro uca uva mu minwa yabo, ukarigita abansi babo+; kandi hamwe hogira uwushaka kubagirira nabi, ategerezwa kwicwa muri ubwo buryo. 6 Abo barafise ububasha bwo kwugara ijuru+ kugira ngo ntihagire imvura igwa+ mu misi y’igikorwa cabo c’ukuvuga ubuhanuzi, kandi barafise ububasha ku mazi bwo kuyahindura amaraso+ no guteza isi ivyago vy’ubwoko bwose incuro bashaka zose.
7 Kandi nibarangiza igikorwa cabo c’ugushinga intahe, ca gikoko kiduga kivuye mu nyenga+ kizorwana na bo, kibatsinde, kibice+. 8 Kandi ibiziga vyabo bizoba mu nzira yagutse ya ca gisagara gikomeye citwa mu buryo bw’impwemu Sodomu+ na Misiri, aho n’Umukama wabo yamanikiwe+. 9 Kandi abo mu bisata n’imiryango n’indimi n’amahanga+ bazokwitegereza ibiziga vyabo imisi itatu n’igice+, kandi ntibareka ngo ibiziga vyabo bishirwe mu mva. 10 Kandi ababa kw’isi barabinezererwa+ bakaryoherwa, kandi bazorungikiranira ingemu+, kuko abo bahanuzi babiri bababaje ababa kw’isi.
11 Kandi inyuma y’iyo misi itatu n’igice+ impwemu y’ubuzima ivuye ku Mana yarinjiye muri bo+, baca bahagarara ku birenge vyabo, ubwoba bwinshi buca butekera ababitegereza. 12 Maze bumva ijwi rirenga+ rivuye mw’ijuru ribabwira riti: “Nimuduge hano+.” Na bo baraduga mw’ijuru mu gicu, abansi babo na bo barabitegereza. 13 Muri iyo saha haba nyamugigima ikomeye, ic’icumi+ c’igisagara kiratemba; abantu ibihumbi indwi bicwa n’iyo nyamugigima, abasigaye na bo batekerwa n’ubwoba, maze baha ubuninahazwa Imana yo mw’ijuru+.
14 Amagorwa agira kabiri+ ararenganye. Ehe amagorwa agira gatatu agira aze ningoga.
15 Umumarayika agira indwi na we avuza urumbete rwiwe+. Mw’ijuru haba amajwi arenga, avuga ati: “Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama+ wacu n’ubwa Kristu+ wiwe, kandi azoganza ibihe bitazoshira+.”
16 Ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ bari bicaye imbere y’Imana ku ntebe z’ubwami zabo baca bubarara hasi+, basenga Imana+, 17 bati: “Turagukengurukiye+, Yehova Mana, Mushoboravyose+, Uwuriho+ kandi yariho, kuko ufashe ububasha bwawe bukomeye+ ugatangura kuganza+. 18 Mugabo amahanga yaratse, kandi uburake bwawe buraza, be n’igihe cashinzwe c’uko abapfuye bacirwa imanza, n’ico guha impembo+ abashumba bawe ari bo bahanuzi+, n’aberanda, n’abatinya izina ryawe, abato n’abahambaye+, n’ico guhonya+ abahonya isi+.”
19 Maze aheranda h’urusengero rw’Imana hari mw’ijuru+ harugururwa, isandugu+ y’isezerano ryayo na yo ibonwa ahantu heranda h’urusengero rwayo+. Haca haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro na nyamugigima n’urubura rukomeye.
12 Maze haboneka ikimenyetso+ gikomeye mw’ijuru: umugore+ yambaye izuba, kandi ukwezi kwari munsi y’ibirenge vyiwe, ku mutwe wiwe na ho hari urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri, 2 kandi yari yibungenze. Araboroga cane ari mu mibabaro+ no mu buribwe bwo kwibaruka.
3 Haboneka ikindi kimenyetso mw’ijuru, nza mbona igisato+ kinini c’ibara ry’umuriro, c’imitwe indwi n’amahembe cumi, kuri nya mitwe yaco hakaba imigāra indwi; 4 kandi umurizo+ waco uburuta ica gatatu c’inyenyeri+ zo mw’ijuru, kiziraririza kw’isi+. Kandi nya gisato caguma gihagaze imbere ya nya mugore+ yagira yibaruke+, kugira ngo yibarutse gice kirotsa+ umwana wiwe.
5 Maze yibaruka umwana w’umuhungu+, uw’igitsina-gabo, uwuzoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Nya mwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo+. 6 Nya mugore na we ahungira mu gahinga+, aho afise ikibanza categuwe n’Imana, kugira ngo bahamugaburirire+ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu+.
7 Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli+ n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco 8 mugabo nticanesha, eka mbere ntihongera kuboneka ikibanza cabo mw’ijuru. 9 Nuko ca gisato kinini+ kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+; araririzwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we. 10 Maze numva ijwi rirenga mw’ijuru, rivuga riti:
“Ubu rero harashitse ubukiriro+ n’ubushobozi+ n’ubwami bw’Imana yacu+ n’ububasha bwa Kristu wayo+, kuko umwagiriji wa bene wacu araririjwe hasi, umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu+! 11 Kandi baramutsinze+ kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama+ no kubera ijambo ry’ugushinga intahe+ kwabo, kandi ntibakunze ubuzima+ bwabo n’igihe baba bahanganye n’urupfu. 12 Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo+! Haragowe+ isi n’ikiyaga+, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito+.”
13 Ca gisato ngo kibone kiraririjwe kw’isi+, gica gihama wa mugore+ yibaruka umwana w’umuhungu. 14 Mugabo amababa abiri ya ya nkona nini+ ahabwa uwo mugore, kugira ngo aguruke aje mu gahinga+ mu kibanza ciwe; aho ni ho agaburirirwa+ igihe n’ibihe n’igice c’igihe+, kure ya ya nzoka+.
15 Ya nzoka ica iruka inyuma ya wa mugore amazi+ ameze nk’uruzi ruvuye mu kanwa kayo, kugira ngo atwarwe na nya ruzi+. 16 Mugabo isi itabara wa mugore+, yasamika akanwa kayo imira rwa ruzi ca gisato caruka ruvuye mu kanwa kaco. 17 Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore+, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe+ Yezu.
13 Maze gihagarara ku musenyi+ w’ikiyaga.
Hanyuma mbona igikoko+ kiduga kiva mu kiyaga+, gifise amahembe cumi+ n’imitwe indwi+, ku mahembe yaco hakaba imigāra cumi, mugabo ku mitwe yaco hakaba amazina y’ukurogota ku Mana+. 2 Kandi igikoko nabonye cari kimeze nk’ingwe+, mugabo amaguru yaco akamera nk’ay’idubu+, akanwa kaco na ko kakamera nk’ak’intambwe+. Maze ca gisato+ giha nya gikoko ububasha bwaco n’intebe y’ubwami yaco n’ububasha bwinshi+.
3 Hanyuma mbona umwe mu mitwe yaco ari nk’aho wakerewe ugapfa, mugabo uruguma rwica+ rwaco rurakira, isi yose ica ikurikira nya gikoko igitangarira. 4 Baca basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, bongera basenga nya gikoko muri aya majambo ngo: “Ni nde ameze nk’iki gikoko, kandi ni nde yoshobora kurwana na co?” 5 Nuko gihabwa akanwa kavuga ibintu bikomeye+ n’ibirogotano+, gihabwa n’ububasha bwo gukora amezi mirongo ine n’abiri+. 6 Hanyuma giteranura akanwa kaco mu kurogota+ ku Mana, ngo kirogote kw’izina ryayo n’aho iba, mbere no ku baba mw’ijuru+. 7 Maze gihabwa+ kurwana n’aberanda no kubatsinda+, congera gihabwa ububasha ku muryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose. 8 Kandi ababa kw’isi bose bazogisenga; nta n’umwe muri abo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo+ w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama yicwa+, uhereye kw’ishingwa ry’isi+.
9 Uwuri n’ugutwi, niyumve+. 10 Nimba umuntu agenewe kugirwa imbohe, aja kugirwa imbohe+. Umuntu niyicisha inkota, ategerezwa kwicishwa inkota+. Aho ni ho hasaba ukwihangana+ n’ukwizera+ kw’aberanda+.
11 Hanyuma mbona ikindi gikoko+ kiduga kiva mw’isi+, kandi cari gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, mugabo gitangura kuvuga nk’igisato+. 12 Gikoresha ububasha bwose bwa ca gikoko+ ca mbere mu maso yaco. Kandi gituma isi n’abayibamwo basenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira uruguma rwica+. 13 Gikora ibimenyetso+ bikomeye, ku buryo mbere gituma umuriro umanuka uvuye mw’ijuru ukaza kw’isi, mu maso y’abantu.
14 Kandi kirazimiza ababa kw’isi, kubera ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikoko, kikabwira ababa kw’isi ngo bakore ishusho+ ya ca gikoko cari n’uruguma rw’inkota+ yamara kikongera kubaho. 15 Hanyuma gihabwa guha impemu ishusho ya ca gikoko, kugira ngo nya shusho ya ca gikoko ivuge yongere yicishe abo bose badasenze mu buryo na bumwe nya shusho+ ya nya gikoko.
16 Kandi kirahāta abantu bose+, abato n’abahambaye, abatunzi n’aboro, abidegemvya n’abashumba, kugira ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kwabo kw’ukuryo canke ku ruhanga rwabo+, 17 no kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora kugura canke kugurisha kiretse umuntu afise nya kimenyetso, izina+ rya ca gikoko canke igitigiri c’izina ryaco+. 18 Aha ni ho hasaba ubukerebutsi: Uwufise ubwenge naharure igitigiri ca nya gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu+; kandi igitigiri caco ni amajana atandatu na mirongo itandatu na gatandatu+.
14 Maze ngize ntya, mbona Umwagazi w’intama+ ahagaze ku Musozi Siyoni+, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine+ bafise izina ryiwe n’izina rya Se+ wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo. 2 Maze numva ijwi riva mw’ijuru, nk’ijwi ry’amazi+ menshi, kandi nk’ijwi ry’umuturagaro ukomeye; kandi ijwi numvise ryari nk’iry’abaririmvyi bajanisha amajwi yabo n’inanga+, bavuza inanga zabo. 3 Kandi bariko baririmba+ nk’aho baririmba ururirimbo rushasha+ imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine+ na ba bakurambere+; kandi nta n’umwe yashoboye kwiga urwo ruririmbo ngo arumenye neza atari vya bihumbi ijana na mirongo ine na bine+, baguzwe+ bakuwe mw’isi. 4 Abo ni bo batihumanishije abagore+; nkako, ni amasugi+. Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose+. Abo baguzwe+ bakuwe mu bantu ngo babe umushuzo+ ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama, 5 kandi nta kinyoma cabonetse mu minwa yabo+; ntibagirako ikirabagu+.
6 Maze mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mu kirere+, kandi yari afise inkuru nziza+ y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose+, 7 avuga n’ijwi rirenga ati: “Nimutinye Imana+ kandi muyihe ubuninahazwa+, kuko isaha y’urubanza rwayo ishitse+; ku bw’ico rero nimusenge Uwaremye+ ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasôko y’amazi+.”
8 Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: “Yatemvye! Babiloni+ Akomeye yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu+ w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+!”
9 Maze uwundi mumarayika, uwa gatatu, arabakurikira, avuga mw’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko+ be n’ishusho yaco+, kandi akaronka ikimenyetso ku ruhanga rwiwe canke ku kuboko kwiwe+, 10 azonywa kandi ku muvinyu w’ishavu ry’Imana risutswe mu gikombe c’uburake bwayo+ ritavanze, kandi azobabazwa+ hakoreshejwe umuriro n’amazuku+ mu maso y’abamarayika beranda no mu maso ya wa Mwagazi w’intama. 11 Kandi umwotsi w’ukubabazwa kwabo uduga ibihe bitazoshira+, kandi ku murango no mw’ijoro nta gahengwe bagira, abasenga ca gikoko n’ishusho yaco, n’uwo wese yakiriye ikimenyetso+ c’izina ryaco. 12 Aho ni ho hakenewe ukwihangana ku beranda+, abubahiriza amabwirizwa y’Imana+ n’ukwizera+ kwa Yezu.”
13 Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Andika: Hahiriwe abapfuye+ bapfira mu bumwe n’Umukama+ guhera ubu+. Egome, ni ko impwemu ivuga, nibaruhuke ukubira akuya kwabo, kuko ivyo bakoze bica bijana na bo.”
14 Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu+, ari n’urugori rw’inzahabu+ ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.
15 Maze uwundi mumarayika asokoroka aheranda h’urusengero, asemerera n’ijwi rirenga abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Rungika agakero kawe ushwabure+, kuko isaha yo gushwabura ishitse, kuko ivyimburwa+ vy’isi vyeze neza+.” 16 Buno umwe yicaye ku gicu atuma agakero kiwe kw’isi, isi irashwaburwa.
17 Uwundi mumarayika asokoroka aheranda h’urusengero ho mw’ijuru+, na we nyene afise agakero gakarishe.
18 Uwundi mumarayika asokoroka mu gicaniro, kandi yari afise ububasha ku muriro+. Asemerera n’ijwi rirenga abwira wa wundi yari afise agakero gakarishe, ati: “Rungika agakero kawe gakarishe wegeranye imisoko y’umuzabibu w’isi+, kuko inzabibu zawo zihiye.” 19 Nya mumarayika+ atuma agakero kiwe mw’isi yegeranya umuzabibu+ w’isi, araheza awuterera mu ruganiro rw’umuvinyu runini rw’ishavu ry’Imana+. 20 Maze nya ruganiro rw’umuvinyu ruganishirizwamwo ibirenge inyuma y’igisagara+, amaraso ava muri nya ruganiro, araduga gushika ku mijiginya y’amafarasi+, ahantu h’uburebure bwa sitadiyo igihumbi n’amajana atandatu*+.
15 Maze mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso+, ikimenyetso gikomeye kandi c’agatangaza: abamarayika indwi+ bafise ivyago indwi+. Ivyo ni vyo vya nyuma, kuko biciye kuri vyo ishavu+ ry’Imana rirangizwa+.
2 Maze mbona icasa n’ikiyaga c’ikiyo+ kivanze n’umuriro, mbona n’abatahukana intsinzi+ kuri ca gikoko no kw’ishusho yaco+ no ku gitigiri+ c’izina ryaco bahagaze iruhande ya nya kiyaga c’ikiyo+, bafise inanga+ z’Imana. 3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati:
“Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+. 4 Ni nde vy’ukuri atazogutinya+ ga Yehova+, akaninahaza izina ryawe+, kuko wewe wenyene ari wewe uri intahemuka+? Kuko amahanga yose azoza agasenga imbere yawe+, kuko ingingo zawe zigororotse zerekanywe+.”
5 Inyuma y’ivyo nditegereza, maze aheranda h’ihema+ ry’intahe+ harugururwa mw’ijuru+, 6 hanyuma ba bamarayika indwi+ bafise vya vyago indwi+ basokoroka aheranda, bambaye impuzu y’ilino+ yoroshe isukuye, yakaka, kandi bakenyeje mu bikiriza vyabo imikanda y’inzahabu. 7 Maze kimwe muri vya binyabuzima bine+ giha ba bamarayika indwi amabakure indwi y’inzahabu yuzuye ishavu ry’Imana+, imwe ibaho ibihe bitazoshira+. 8 Aheranda haca huzura umwotsi kubera ubuninahazwa bw’Imana+ no kubera ububasha bwayo, kandi nta n’umwe yashobora kwinjira aheranda gushika nya vyago indwi+ vya ba bamarayika indwi birangiye.
16 Maze numva ijwi rirenga+ rivuye aheranda ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende musuke mw’isi ayo mabakure indwi y’ishavu+ ry’Imana.”
2 Uwa mbere+ aragenda, asuka ibakure yiwe mw’isi+. Maze igisebe kibabaza kandi gikaze+ kiza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko+ kandi bariko basenga ishusho yaco+.
3 Uwa kabiri+ na we asuka ibakure yiwe mu kiyaga+. Gica gihinduka amaraso+ nk’ay’umuntu yapfuye, maze igifise ubuzima cose kirapfa, egome, ibiri mu kiyaga+.
4 Uwa gatatu+ na we asuka ibakure yiwe mu nzuzi+ no mu masôko y’amazi. Bica bihinduka amaraso+. 5 Ndaheza numva umumarayika w’amazi avuga ati: “Wewe, Uwuriho kandi yariho+, Intahemuka+, uragororotse, kuko wapfunditse izo ngingo+, 6 kuko basheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, nawe ubahaye amaraso+ ngo banywe. Barabikwiriye+.” 7 Maze numva igicaniro kivuga giti: “Egome, Yehova Mana, Mushoboravyose+, ingingo zawe z’ubutungane* ni iz’ukuri kandi ziragororotse+.”
8 Uwa kane+ na we asuka ibakure yiwe ku zuba; izuba rica rihabwa kubabuza+ abantu umuriro. 9 Maze abantu bababuzwa ubushuhe bukomeye, mugabo barogota kw’izina+ ry’Imana, iyifise ububasha+ kuri ivyo vyago, kandi ntibigaya ngo bayihe ubuninahazwa+.
10 Uwa gatanu na we asuka ibakure yiwe ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko+. Ubwami bwaco buca bucurishwa umwiza+, batangura kwihekenya indimi kubera umubabaro wabo, 11 mugabo barogota+ ku Mana yo mw’ijuru kubera imibabaro n’ibisebe vyabo, kandi ntibigaya ibikorwa vyabo.
12 Uwa gatandatu+ na we asuka ibakure yiwe kuri rwa ruzi runini Efurate+, amazi yarwo aca arakama+, kugira ngo inzira itegurwe ku bw’abami+ bava i burasirazuba.
13 Maze mbona amajambo y’amahumekano+ atatu ahumanye yasa n’ibikere+ ava mu kanwa ka ca gisato+ no mu kanwa ka ca gikoko+ no mu kanwa ka wa muhanuzi w’ikinyoma+. 14 Ayo nkako ni amajambo ahumetswe+ n’amadayimoni kandi agakora ibimenyetso+, kandi aja ku bami+ b’isi yose+, ngo abakoranirize hamwe ku ntambara+ yo kuri wa musi uhambaye+ w’Imana Mushoboravyose+.
15 “Ehe ndaje nk’igisuma+. Hahiriwe uwuguma arikanuye+ akagumya impuzu ziwe zo hejuru, kugira ngo ntagende ari gusa maze abantu bakaraba isoni z’ubwambure bwiwe+.”
16 Abakoraniriza hamwe ahantu hitwa Haru–Magedoni*+ mu giheburayo.
17 Uw’indwi na we asuka ibakure yiwe ku kirere+. Ijwi rirenga+ rica risohoka rivuye aheranda kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: “Birakozwe!” 18 Maze haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro, haba na nyamugigima ikomeye+ itari bwigere iba kuva abantu babaye kw’isi+, iba nyamugigima igera kure cane+, emwe, ikomeye cane. 19 Ca gisagara gikomeye+ gica gisadukamwo gutatu, n’ibisagara vy’amahanga biratemba; hanyuma Babiloni Akomeye+ aribukwa imbere y’Imana, kugira ngo ahabwe igikombe c’umuvinyu w’ishavu ry’uburake bwayo+. 20 Vyongeye, izinga ryose rirahunga, n’imisozi ntiyaboneka+. 21 Maze urubura rukomeye+ rw’iminana umwumwe upima nk’italanto* rumanuka ruvuye mw’ijuru rukoragurikira ku bantu, nya bantu na bo barogota+ ku Mana kubera ico cago c’urubura+, kuko icago carwo cari gikomeye bidasanzwe.
17 Maze umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi+ araza avugana nanje, ati: “Ingo, nkwereke urubanza rwaciriwe wa mumaraya+ akomeye yicaye ku mazi menshi+, 2 uwo abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi+, ababa kw’isi na bo bakaborezwa umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe+.”
3 Maze arantwara mu bubasha bw’impwemu+ anjana mu gahinga. Maze mbona umugore yicaye ku gikoko+ c’ibara ry’agahama cari cuzuye amazina y’ukurogota ku Mana+ kandi cari gifise imitwe indwi+ n’amahembe cumi. 4 Kandi nya mugore yari yambaye ibisa n’umuyugubwe+ n’ibisa n’agahama+, kandi yari asharijwe inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita+, kandi mu kuboko kwiwe yari afise igikombe c’inzahabu+ cuzuye ibintu bisesemye+ n’ibihumanye vy’ubusambanyi bwiwe+. 5 Kandi ku ruhanga rwiwe hari handitse izina ry’akayobera+, ngo: “Babiloni Akomeye, nyina w’abamaraya+ n’uw’ibintu bisesemye vyo kw’isi+.” 6 Kandi mbona yuko nya mugore yari aborewe amaraso+ y’aberanda be n’amaraso y’ivyabona vya Yezu+.
Erega ngo ndamubone, ndatangara bimwe bikomeye+. 7 Wa mumarayika aca ambwira ati: “Utangajwe n’iki? Ndakubwira akayobera k’urya mugore+ be n’aka kirya gikoko kimuhetse kandi gifise irya mitwe indwi n’arya mahembe cumi+: 8 Ca gikoko wabonye cariho+, mugabo ntikikiriho, yamara kigira kiduge kive mu nyenga+, kandi kibwirizwa kuja mu mahonero. Maze nibabona ingene ico gikoko cariho, mugabo kikaba kitakiriho, yamara kikaba kizohaba, ababa kw’isi bazotangara batamariwe, mugabo amazina yabo ntiyanditswe ku muzingo w’ubuzima+ guhera kw’ishingwa ry’isi+.
9 “Aha ni ho hakenewe ubwenge burimwo ubukerebutsi+: Ya mitwe indwi+ igereranya imisozi indwi+, aho wa mugore yicaye kw’isonga. 10 Kandi hari abami indwi: batanu baratemvye+, umwe ariho+, uwundi ntarashika+, mugabo niyashika abwirizwa kugumaho akanya gato+. 11 Kandi ca gikoko cariho mugabo kikaba kitakiriho+, na co nyene ubwaco ni umwami agira umunani, mugabo ava kuri bamwe indwi, kandi kija mu mahonero.
12 “Arya mahembe cumi wabonye na yo asobanura abami cumi+, bakaba batararonka ubwami, mugabo bararonka ububasha nk’abami isaha imwe hamwe na ca gikoko. 13 Abo bafise iciyumviro kimwe, gutyo bagaha ubushobozi bwabo n’ububasha bwabo ca gikoko+. 14 Abo bazorwana na wa Mwagazi w’intama+, mugabo, kubera ari Umukama w’abakama n’Umwami w’abami+, wa Mwagazi w’intama azobatsinda+. Abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa bari kumwe na we, na bo nyene bazotsinda+.”
15 Maze ambwira ati: “Arya mazi wabonye, aho wa mumaraya yicaye, agereranya ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi+. 16 Arya mahembe cumi+ wabonye na yo, be na kirya gikoko+, ivyo bizokwanka urya mumaraya+, kandi bizomutikiza bimusige ari gusa, kandi bizorya inyama ziwe, bimutongoze umuriro+. 17 Kuko Imana yashize mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo+, mbere no gushitsa iciyumviro cabo kimwe mu guha ubwami bwabo ca gikoko+, gushika igihe amajambo y’Imana azoba yarangutse+. 18 Urya mugore+ wabonye na we agereranya ca gisagara gikomeye gifise ubwami ku bami b’isi+.”
18 Inyuma y’ivyo mbona uwundi mumarayika amanuka ava mw’ijuru, ari n’ububasha+ bwinshi; kandi isi ibonesherezwa n’ubuninahazwa bwiwe+. 2 Maze asemerera n’ijwi rikomeye+, ati: “Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye+ be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa+! 3 Kuko amahanga yose yaguye mu mutego kubera umuvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe+, kandi abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi+, kandi abadandaza b’ingenzi+ bo kw’isi batungishijwe n’ububasha bw’ibihinda vyiwe vy’agaterasoni+.”
4 Maze numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Nimuve iwe, bantu banje+, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe+, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe. 5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika mw’ijuru+, kandi Imana yibutse ibikorwa vyiwe vy’akarenganyo+. 6 Mumwishure nk’uko na we yishuye+, kandi mumugerere kabiri, egome, kabiri igitigiri c’ivyo yakoze+; mu gikombe+ yashizemwo ikivange mumushiriremwo kabiri+ nya kivange+. 7 Urugero yashikanyeko mu kwininahaza no mu kwibera mu bihinda vy’agaterasoni, urwo rugero abe ari rwo mugezako mu kumuha umubabaro n’ikigandaro+. Kuko mu mutima wiwe aguma avuga ngo: ‘Nicaye nk’umwamikazi+, kandi sindi umupfakazi+, kandi sinzokwigera mbona ikigandaro+.’ 8 Ni co gituma ivyago vyiwe+ bizoza mu musi umwe, urupfu n’ikigandaro n’ikigoyi, kandi azotongozwa umuriro+, kuko Yehova Imana amuciriye urubanza akomeye+.
9 “Kandi abami+ b’isi bakoranye na we ubusambanyi kandi bakibera mu bihinda vy’agaterasoni bazomuririra bongere bikubitagure ku gikiriza kubera intuntu+, nibaraba umwotsi+ uva ku kururumba kwiwe, 10 mu gihe bahagarara nka hariya kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bakavuga+ bati: ‘Birababaje, birababaje, wewe gisagara gikomeye+, Babiloni wewe gisagara c’inkomezi, kuko mw’isaha imwe urubanza rwawe rushitse+!’
11 “Vyongeye, abadandaza b’ingenzi+ bo kw’isi baramuririra bongera bamuborogera+, kuko ata wuriho wo kwongera kugura ububiko bwabo bwuzuye, 12 ububiko bwuzuye+ inzahabu n’ifeza n’amabuye y’agaciro n’imaragarita n’impuzu z’ilino nziza, n’iz’umuyugubwe n’iz’iharire n’iz’agahama; be n’ikintu cose co mu mbaho z’akamoto be n’ubwoko bwose bw’ivyo mu masenge n’ubwoko bwose bw’ivyo mu mbaho z’agaciro kuruta izindi zose, n’ivyo mu mujumpu n’ivyo mu cuma n’ivyo mu mabuye y’agaciro yitwa marimari+; 13 n’ibimota vyitwa mudarasini be n’ivyitwa amome n’imibavu n’amavuta amota neza n’imibavu ya olibani n’umuvinyu n’amavuta y’umwelayo n’ifu inoze n’ingano n’inka n’intama, n’amafarasi n’imiduga n’abashumba n’abantu+. 14 Egome, ivyamwa vyiza umutima wawe wipfuje+ vyakuvuyeko, n’ibintu vyizavyiza be n’ibisayangana vyaguhezeko, kandi abantu ntibazokwongera kubironka+.
15 “Abadandaza b’ingenzi+ b’ivyo bintu, abacitse abatunzi kubera we, bazohagarara nka hariya kubera batinya ukubabazwa kwiwe, barire, bagandare+, 16 bavuga bati: ‘Birababaje, birababaje—ca gisagara gikomeye+, cambaye impuzu z’ilino nziza n’iz’umuyugubwe n’iz’agahama, kandi gisharijwe cane udusharizo tw’inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita+, 17 kubera ko mw’isaha imwe iryo tunga rikomeye ritikijwe+!’
“Kandi umukapitene w’imeri wese be n’umuntu wese agira ingendo aho ari ho hose+, n’abasoza be n’abo bose batunzwe n’ikiyaga, bahagarara nka hariya+ 18 biha akaruru baravye umwotsi uva ku kururumba kwiwe, bavuga bati: ‘Ni ikihe gisagara kimeze nka ca gisagara gikomeye+?’ 19 Maze bisūrirako umukungugu ku mitwe+, biha akaruru, barira bongera bagandara+, bavuga bati: ‘Birababaje, birababaje—ca gisagara gikomeye, kimwe abafise amato ku kiyaga+ bose batungiyemwo+ kubera ibitayega vyaco, kuko mw’isaha imwe gitikijwe+!’
20 “Nuhimbarirwe ivyiwe, ewe juru+, namwe beranda+ namwe ntumwa+ namwe bahanuzi, kuko Imana yashikije kuri we ku bwanyu igihano c’urubanza yamuciriye+!”
21 Maze umumarayika w’inkomezi araha ibuye rimeze nk’urusyo runini+ ariraririza mu kiyaga+, avuga ati: “Ukwo ni ko Babiloni ca gisagara gikomeye kizoraririzwa rimwe, kandi ntikizokwigera congera kuboneka+. 22 Kandi ijwi ry’abaririmvyi bajanisha amajwi yabo n’inanga be n’iry’abacuraranzi be n’iry’abavuza imyironge be n’iry’abavuza inzumbete ntirizokwigera ryongera kwumvikana iwawe+, kandi nta munyatugenegene w’umwuga n’umwe azokwigera yongera kuboneka iwawe, kandi nta jwi ry’urusyo rizokwigera ryongera kwumvikana iwawe, 23 kandi nta muco w’itara uzokwigera wongera gukayangana iwawe, kandi nta jwi ry’umukwe n’iry’umugeni rizokwigera ryongera kwumvikana iwawe+; kuko abadandaza b’ingenzi+ bawe bari bo bantu bo ku rwego rwo hejuru+ bo kw’isi, kuko amahanga yose yazimijwe n’ubupfumu bwawe+. 24 Egome, iwe ni ho habonetse amaraso+ y’abahanuzi+ n’ay’aberanda+ n’ay’abishwe kw’isi bose+.”
19 Inyuma y’ivyo numva ikimeze nk’ijwi rikomeye ry’isinzi rinini mw’ijuru+. Bavuga bati: “Shemeze Ya+! Ubukiriro+ n’ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu+, 2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri n’izigororotse+. Kuko yashikije urubanza kuri wa mumaraya akomeye yononesheje isi ubusambanyi bwiwe, kandi yahoye amaraso y’abashumba bayo yavishije n’ukuboko kwiwe+.” 3 Maze buno nyene bavuga irigira kabiri bati: “Shemeze Ya+! Kandi umwotsi uva kuri we ubandanya kuduga ibihe bitazoshira+.”
4 Maze ba bakurambere mirongo ibiri na bane+ na vya binyabuzima bine+ bikubita hasi, basenga Imana yicaye+ kuri ya ntebe y’ubwami, bavuga bati: “Amen! Shemeze Ya+!”
5 Vyongeye, ijwi riva kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: “Nimushemeze Imana yacu, mwebwe mwese abashumba bayo+ bayitinya, abato n’abahambaye+.”
6 Maze numva ikimeze nk’ijwi ry’isinzi rinini, kimeze kandi nk’ijwi ry’amazi menshi, kimeze kandi nk’ijwi ry’imituragaro yasana. Bavuga bati: “Shemeze Ya+, kuko Yehova Imana yacu, Mushoboravyose+, atanguye kuganza+. 7 Tunezerwe kandi dusesekare umunezero, kandi tumuhe ubuninahazwa+, kuko ubugeni+ bwa wa Mwagazi w’intama bushitse+, kandi n’umugore wiwe yiteguye+. 8 Egome, ahawe kwambara impuzu y’ilino nziza, yakaka, isukuye, kuko nya mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda+.”
9 Kandi ambwira ati: “Andika: Hahiriwe abatumiwe+ ku mfungurwa zo ku mugoroba z’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama+.” Vyongeye, ambwira ati: “Ayo ni yo majambo y’ukuri y’Imana+.” 10 Nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe ngo ndamusenge+. Mugabo ambwira ati: “Uragaba! Ntugire ivyo+! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Senga Imana+; kuko ugushingira intahe Yezu ari yo ntumbero y’ubuhanuzi+.”
11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, maze mbona ifarasi yera+. Kandi uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+. 12 Amaso yiwe ni urubeya rw’umuriro+, kandi ku mutwe wiwe hari imigāra myinshi+. Afise izina+ ryanditswe ata n’umwe arizi atari we ubwiwe, 13 kandi yambaye impuzu yo hejuru imijagiyeko amaraso+, kandi izina yitwa ni Jambo+ w’Imana. 14 Vyongeye, ingabo zari mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, kandi zari zambaye impuzu z’ilino nziza, zera, zisukuye. 15 Kandi mu kanwa kiwe hasokoroka inkota ndende ikarishe+, kugira ngo ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Aganisha ibirenge kandi muri rwa ruganiro rw’umuvinyu+ rw’ishavu ry’uburake bw’Imana+ Mushoboravyose. 16 Kandi ku mpuzu yiwe yo hejuru, mbere kw’itako ryiwe, afise izina ryanditswe, ngo: Umwami w’abami n’Umukama w’abakama+.
17 Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga, abwira inyoni+ zose ziguruka hagati mu kirere ati: “Nimuze hano, mukoranire hamwe ku mfungurwa nyinshi zo ku mugoroba z’Imana, 18 kugira ngo murye inyama+ z’abami n’inyama z’abakomanda ba gisirikare n’inyama z’abantu b’inkomezi+ n’inyama z’amafarasi+ n’iz’abayicayeko, n’inyama za bose, iz’abidegemvya n’iz’abashumba n’iz’abato n’abahambaye.”
19 Maze mbona ca gikoko+ n’abami+ b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kurwana+ n’umwe yicaye kuri ya farasi+ hamwe n’ingabo ziwe. 20 Maze ca gikoko+ kirafatwa, gifatanwa na wa muhanuzi w’ikinyoma+ yakorera imbere yaco ibimenyetso+ yazimirisha abaronse ikimenyetso+ ca ca gikoko be n’abasenga ishusho+ yaco. Bikiri bizima, vyompi biraririzwa mu kiyaga c’umuriro cakishwa amazuku+. 21 Mugabo abasigaye bamarwa na ya nkota ndende y’umwe yicaye kw’ifarasi+, iyo nkota ikaba yavuye mu kanwa kiwe+. Maze inyoni+ zose zihazwa+ n’inyama zabo+.
20 Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’inyenga+ be n’ikinyororo kinini mu minwe. 2 Maze acakira ca gisato+, ya nzoka yo mu ntango+, ari we Mubesheranyi*+ na Shetani+, arakiboha kumara imyaka igihumbi. 3 Aca akiraririza mu nyenga+, arayugara, ayishirako ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Inyuma y’ivyo kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi+.
4 Hanyuma mbona intebe z’ubwami+, kandi hari abazicayeko, maze bahabwa ububasha bwo guca imanza+. Egome, mbona ubuzima bw’abicishijwe ishoka kubera intahe bashingiye Yezu no kubera ukuvuga ivyerekeye Imana, n’abatari basenze ca gikoko+ canke ishusho+ yaco kandi batari baronse ca kimenyetso ku ruhanga rwabo no ku kuboko kwabo+. Hanyuma baba bazima, baganza+ hamwe na Kristu imyaka igihumbi. 5 (Abapfuye+ basigaye ntibaba bazima gushika iyo myaka igihumbi iheze+.) Iryo ni ryo zuka rya mbere+. 6 Arahiriwe+ kandi ni mweranda+ uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, mugabo bazoba abaherezi+ b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi+.
7 Kandi iyo myaka igihumbi ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe, 8 na we azosohoka aje kuzimiza ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngo ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri cabo ni nk’umusenyi w’ikiyaga+. 9 Maze barasogeza ku bwaguke bw’isi, bakikuza ikambi y’aberanda+ na ca gisagara gikundwa+. Mugabo umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigata+. 10 Shetani+ umwe yahora abazimiza aca araririzwa muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku, ahari hamaze kuja ca gikoko+ na wa muhanuzi w’ikinyoma+; kandi bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira.
11 Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwuyicayeko+. Isi n’ijuru bihunga biva imbere yiwe+, kandi nta kibanza cabonetse ku bwavyo. 12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+. 13 Maze ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye+ bo muri vyo, bacirwa imanza umwumwe nk’uko ibikorwa vyabo biri+. 14 Urupfu+ n’ukuzimu biraririzwa muri ca kiyaga c’umuriro. Ico kiyaga c’umuriro+ gisobanura urupfu rwa kabiri+. 15 Ikigeretseko, uwo wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima+ araririzwa muri ico kiyaga c’umuriro+.
21 Maze mbona ijuru rishasha+ n’isi nshasha+; kuko ijuru rya kera+ n’isi ya kera+ vyari vyagiye, n’ikiyaga+ nticari kikiriho. 2 Mbona kandi ca gisagara ceranda+, Yeruzalemu Nshasha, kimanuka kiva mw’ijuru+ ku Mana, giteguwe nk’umugeni+ asharirijwe umugabo wiwe+. 3 Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: “Ehe ihema+ ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana+ na bo, na bo bazoba ibisata vyayo+. Kandi Imana ubwayo izobana na bo+. 4 Kandi izohanagura amosozi yose+ ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho+, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho+. Ivya kera vyagiye+.”
5 Maze Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha+.” Yongera avuga ati: “Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.” 6 Araheza ambwira ati: “Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo+. Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu+. 7 Uwo wese atsinda azotorana ivyo bintu, kandi nzoba Imana yiwe+, na we azoba umwana wanje+. 8 Nayo abanyabwoba n’abatagira ukwizera+, n’abasesemye bagendera mu mucafu+ wabo, be n’abicanyi+ n’abasambanyi+, n’abagira ivy’ubupfumu n’abasenga ibigirwamana+ n’ababeshi+ bose, umugabane wabo uzoba muri ca kiyaga cakishwa umuriro+ n’amazuku+. Ico gisobanura urupfu rwa kabiri+.”
9 Maze haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, avugana nanje ati: “Ingo hano, nkwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama+.” 10 Nuko arantwara mu bubasha bw’impwemu anjana ku musozi munini kandi muremure+, anyereka ca gisagara ceranda+ Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana+ 11 gifise ubuninahazwa bw’Imana+. Uguca ibibatsi kwaco kwari kumeze nk’ibuye ry’agaciro kuruta ayandi yose, nk’ibuye rya yasipi rikayangana nk’ibuye ryitwa kirisitalo+. 12 Cari gifise uruhome+ runini rurerure kikagira n’amarembo cumi n’abiri, kuri nya marembo hakaba abamarayika cumi na babiri, kandi hari handitswe amazina ya ya miryango cumi n’ibiri ya bene Isirayeli+. 13 Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko amarembo atatu, mu bumanuko amarembo atatu, mu burengero na ho amarembo atatu+. 14 Uruhome rw’ico gisagara na rwo nyene rwari rufise amabuye y’umushinge+ cumi n’abiri, kandi kuri yo hari amazina cumi n’abiri ya za ntumwa cumi na zibiri+ za wa Mwagazi w’intama.
15 Uwariko avugana nanje yari afise irenga+ ry’inzahabu ry’ikigeresho, kugira ngo agere ico gisagara n’amarembo yaco n’uruhome rwaco+. 16 Kandi ico gisagara ni ikwadarato, kandi uburebure bwaco bungana n’ubwaguke bwaco. Maze agera ico gisagara+ akoresheje rya renga, atora sitadiyo ibihumbi cumi na bibiri; uburebure n’ubwaguke n’amahagarara vyaco birangana. 17 Agera n’uruhome rwaco, atora amatambwe* ijana na mirongo ine n’ane, nk’uko ingero y’umuntu iri, ikaba n’iy’umumarayika. 18 Kandi urwo ruhome rwari yasipi+, nya gisagara na co kikaba cari inzahabu itavanze nk’ikiyo kibona. 19 Imishinge+ y’uruhome rw’ico gisagara yari isharijwe n’ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro+: umushinge wa mbere wari yasipi+, uwa kabiri safiro+, uwa gatatu kalikedoni, uwa kane emerode+, 20 uwa gatanu saridonigisi, uwa gatandatu saridiyo, uw’indwi kirisolito+, uw’umunani berilo, uw’icenda topazi+, uw’icumi kirisopuraso, uw’icumi na rimwe yasenti, uw’icumi na kabiri ametisito+. 21 Vyongeye, ya marembo cumi n’abiri yari imaragarita cumi na zibiri; rimwe ryose muri ayo marembo ryari rigizwe n’imaragarita+ imwe. Inzira yagutse ya nya gisagara na yo yari inzahabu itavanze, nk’ikiyo kibonerana.
22 Kandi sinabonye urusengero muri co+, kuko Yehova+ Imana Mushoboravyose+ ari we rusengero+ rwaco, na wa Mwagazi w’intama nyene+. 23 Kandi ico gisagara ntigikeneye izuba canke ukwezi ngo vyakire kuri co, kuko ubuninahazwa bw’Imana bwakiboneshereza+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+. 24 Kandi amahanga azogenda amurikiwe n’umuco waco+, kandi abami b’isi bazozana muri co ubuninahazwa bwabo+. 25 Kandi amarembo yaco ntazogenda yugawe ku murango+, kuko ata joro rizohaba+. 26 Kandi bazozana muri co ubuninahazwa n’iteka vy’amahanga+. 27 Mugabo ikintu cose kitari ceranda n’umuntu wese aguma akora ibintu bisesemye+ be n’ibinyoma+ ntazogenda acinjiyemwo+; abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo gusa bazocinjiramwo+.
22 Maze anyereka uruzi rw’amazi y’ubuzima+, rurongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama+ 2 rumanuka hagati mu nzira yagutse ya nya gisagara. Kandi hakuno y’urwo ruzi no hakurya hari ibiti+ vy’ubuzima vyera incuro cumi na zibiri mu mwaka, bikama ivyamwa vyavyo buri kwezi+. Amababi ya nya biti na yo yari ayo kuvūra amahanga+.
3 Kandi ntihazokwongera kubaho umuvumo n’umwe+. Mugabo ya ntebe y’ubwami y’Imana+ be n’iya wa Mwagazi w’intama+ bizoba muri nya gisagara, kandi abashumba bayo bazoyikorera igikorwa ceranda+; 4 bazobona mu maso hayo+, kandi izina ryayo rizoba ku ruhanga rwabo+. 5 Vyongeye, ijoro ntirizokwongera kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke ngo bagire umuco w’izuba, kuko Yehova Imana azorasira umuco+ kuri bo, kandi bazoganza ibihe bitazoshira+.
6 Maze ambwira ati: “Aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri+; egome, Yehova we Mana y’amajambo yahumetswe+ y’abahanuzi+ ni we yatumye umumarayika wiwe ngo yereke abashumba biwe ibintu bitegerezwa kuba vuba+. 7 Kandi ehe ndaje ningoga+. Hahiriwe uwo wese yubahiriza amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo+.”
8 Erega, jewe Yohani ni je nariko numva nongera mbona ivyo bintu. Kandi aho mariye kwumva no kubona, nikubita hasi ngo nsenge+ imbere y’ibirenge vya nya mumarayika yariko aranyereka ivyo bintu. 9 Mugabo ambwira ati: “Uragaba! Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu b’abahanuzi+ be n’uw’abubahiriza amajambo y’uyu muzingo. Senga Imana+.”
10 Ambwira kandi ati: “Ntubike amajambo y’ubuhanuzi y’uyu muzingo nk’ayadomweko ikidodo, kuko igihe cashinzwe kiri hafi+. 11 Uwuriko arakora ibitagororotse, nabandanye gukora ibitagororotse+; n’uwucafuye nabandanye gucafura+; mugabo umugororotsi+ nabandanye gukora ibigororotse, n’umweranda nabandanye kugirwa mweranda+.
12 “‘Ehe ndaje ningoga+, kandi impembo+ ntanga nje ndayifise, kugira nishure umwe wese nisunze igikorwa ciwe+. 13 Ndi Alufa na Omega+, uwa mbere n’uwa nyuma+, intango n’iherezo. 14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+. 15 Hanze hari imbwa+ n’abakora ivy’ubupfumu+ n’abasambanyi+ n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kandi ashishikara ikinyoma+.’
16 “‘Jewe Yezu, narungitse umumarayika wanje kubashingira intahe y’ivyo bintu ku bw’amashengero. Ni jewe muzi+ n’uruvyaro+ rwa Dawidi, nkaba n’inyenyeri y’agatondo yakaka+.’”
17 Kandi impwemu+ na wa mugeni+ biguma bivuga biti: “Ingo!” Kandi uwo wese yumva navuge ati: “Ingo+!” Kandi uwo wese anyotewe naze+; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu+.
18 “Ndashingiye intahe umuntu wese yumva amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo: Nihagira uwugira ico yongeyeko+ kuri ibi bintu, Imana izomwongera ivyago+ vyanditswe muri uyu muzingo; 19 kandi nihagira uwugira ico akuyeko ku majambo y’umuzingo w’ubu buhanuzi, Imana izokuraho umugabane wiwe muri vya biti vy’ubuzima+ iwukure no muri ca gisagara ceranda+, bikaba ari ibintu vyanditswe muri uyu muzingo.
20 “Uwushinga intahe y’ibi bintu avuga ati: ‘Egome; ndaje ningoga+.’”
“Amen! Ingo, Mukama Yezu.”
21 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu bubane n’aberanda+.
Canke, “wa Yezu.”
Raba Inyongera ya 21.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “ububani.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Nk’ibilometero 296. Sitadiyo yari ingero ya kera y’uburebure y’Abagiriki, ireha n’imetero 185.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Italanto imwe ni nk’ibilo 20,4.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.