ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Luka 1:1-24:53
  • Luka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Luka
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Luka

Nk’uko vyanditswe na Luka

1 Kubera ko benshi bafashe ibanga ryo kwegeranya amakuru y’ibintu vyabaye koko+ vyemerwa rwose muri twebwe, 2 nk’uko twabishikirijwe n’abavyiboneye+ kuva mu ntango+ bagacika n’abasuku b’ubutumwa+ kuva ico gihe, 3 na jewe nyene, kubera ko nakurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango, nafashe ingingo yo kubikwandikira mu rukurikirane rwumvikana+, nyakwubahwa+ Tewofile+, 4 kugira umenye neza yuko ivyo wigishijwe ku munwa ari ivy’ukuri+.

5 Mu misi ya Herodi+, umwami wa Yudaya, hariho umuherezi umwe yitwa Zekariya wo mu muce wa Abiya+, kandi yari afise umugore wo mu bakobwa ba Aroni+, akaba yitwa Elizabeti. 6 Bompi bari abagororotsi+ imbere y’Imana, kubera ko bagenda batagirako umugayo+ bisunze amabwirizwa yose+ n’ibisabwa+ n’amategeko vya Yehova+. 7 Mugabo nta mwana bari bafise, kubera ko Elizabeti yari ingumba+, kandi bompi bari bitereye mu myaka.

8 Igihe rero yariko arakora bwa muherezi mu gikorwa c’umuce wiwe+ imbere y’Imana, 9 nk’uko vyari bisanzwe bigenda mw’ibanga ry’ubuherezi, yari aramukiwe gushikana imibavu*+ igihe yinjira aheranda ha Yehova+; 10 kandi abantu indiri bose bo muri ico gisata bariko barasengera hanze kw’isaha yo gushikana imibavu+. 11 Umumarayika wa Yehova aramubonekera, ahagaze ku ruhande rw’iburyo rw’igicaniro* c’imibavu+. 12 Mugabo Zekariya ahagarika umutima kubera ivyo bintu abonye, ubwoba buramutekera+. 13 Ariko nya mumarayika amubwira ati: “Ntutinye, Zekariya, kubera ko ugutakamba kwawe kwumviswe+, kandi umugore wawe Elizabeti azokuvyarira umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yohani+. 14 Kandi uzogira akanyamuneza n’akamwemwe kenshi, kandi benshi bazonezererwa+ ivuka ryiwe; 15 kuko azoba mukuru imbere ya Yehova+. Mugabo ntaze yigere anywa umuvinyu n’ikinyobwa gikaze+, kandi azokwuzuzwa impwemu nyeranda kuva akiri mu nda ya nyina+; 16 kandi benshi muri bene Isirayeli azobagarukana kuri Yehova+ Imana yabo. 17 Vyongeye, azomuja imbere afise impwemu n’ububasha vya Eliya+ kugira agarukane imitima+ ya ba se ku bana, n’ibigaba abigarukane ku bukerebutsi ngirakamaro bw’abagororotsi, kugira atunganirize Yehova+ igisata giteguye+.”

18 Zekariya abwira nya mumarayika ati: “Ivyo novyemezwa n’iki? Ko nshaje+, umugore wanje na we akaba yitereye mu myaka.” 19 Nya mumarayika amwishura ati: “Ndi Gaburiyeli+, uwuhagarara imbere y’Imana hafi yayo, nkaba natumwe kuvugana+ nawe no kukumenyesha inkuru nziza y’ivyo bintu. 20 Mugabo, ehe ugira ucereze+ ntushobore kuvuga gushika umusi ivyo bintu bizobera, kubera ko utemeye amajambo yanje, ayazoranguka mu gihe cashinzwe cayo.” 21 Muri uwo mwanya abantu babandanya kurindira Zekariya+, batangura gutangazwa n’uko atevye aheranda. 22 Mugabo aho asohokeye ntiyashobora kuvugana na bo, baca batahura yuko yari ahejeje kubonekerwa+ ari aheranda; kandi yaguma abagirira ibimenyetso, mugabo aguma ari ikiragi. 23 Imisi y’igikorwa ciwe gikorerwa abantu irangiye+, ataha i muhira iwe.

24 Mugabo inyuma y’iyo misi Elizabeti umugore wiwe aribungenga+; kandi yaguma yikumiriye mu kiringo c’amezi atanu, akavuga ati: 25 “Uku ni ko Yehova yangiriye muri iyi misi, aho yanyibutse kugira ankureko iceyi cari kindiko mu bantu+.”

26 Mu kwezi kwiwe kugira gatandatu, umumarayika Gaburiyeli+ atumwa n’Imana ku gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27 ku mwigeme w’isugi yari yasezeraniwe umugabo yitwa Yozefu wo mu nzu ya Dawidi; uwo mwigeme+ akaba yitwa Mariya+. 28 Hanyuma yinjiye iwe avuga ati: “Amahoro+, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe; Yehova+ ari kumwe nawe+.” 29 Mugabo ahagarikwa umutima rwose n’iryo jambo, atangura kwibaza iyo ndamutso iyo ari yo. 30 Nya mumarayika amubwira ati: “Ntutinye, Mariya, kuko wagize ubutoni+ ku Mana; 31 kandi, ehe uzosama inda uvyare umuhungu+, kandi uze umwite Yezu+. 32 Uyo azoba mukuru+ kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose+; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami+ ya Dawidi se wiwe+, 33 kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo+.”

34 Mugabo Mariya abwira nya mumarayika ati: “Ivyo none bizoshoboka gute, ko ata mugabo turyamana+?” 35 Nya mumarayika amwishura ati: “Impwemu nyeranda+ izokuzako, kandi ububasha bwa Musumbavyose buzogutwikiriza igitutu. Ni co gituma kandi ikizovuka kizokwitwa ceranda+, Umwana w’Imana+. 36 Kandi, ehe Elizabeti incuti yawe na we nyene yarasamye inda y’umwana w’umuhungu mu busaza bwiwe, kandi uku ni ukwezi kwiwe kugira gatandatu, umwe bita umugore w’ingumba+; 37 kuko ku Mana ata jambo na rimwe riba akadashoboka+.” 38 Maze Mariya avuga ati: “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova+! Nibimbere nk’uko ijambo ryawe rivuze.” Nya mumarayika aca amusiga aho, aragenda.

39 Nuko Mariya arahaguruka muri iyo misi agenda yihuta aja mu ntara y’imisozi, mu gisagara ca Yuda, 40 hanyuma yinjira mu nzu kwa Zekariya maze aramutsa Elizabeti. 41 Emwe, Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, uruyoya ruri mu nda yiwe ruca rurasimbasimba; buno Elizabeti yuzura impwemu nyeranda, 42 aca yiha akamo n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bagore, kandi harahezagiwe+ n’icamwa co mu nda yawe! 43 Mbega bishobotse bite ngo nterwe ako gateka, ngo nyina w’Umukama wanje+ aze kuri jewe? 44 Kuko, ehe ijwi ry’indamutso yawe ryabaye rikingwa mu gutwi, uruyoya ruri mu nda yanje ruca rusimbasimbishwa n’akamwemwe kenshi+. 45 Harahiriwe kandi umugore yemeye, kubera ko hazoba iranguka ryuzuye+ ry’ivyo bintu vyose yabwiwe bivuye kuri Yehova+.”

46 Mariya avuga ati: “Umutima wanje urashimagiza Yehova+, 47 kandi ntushobora kureka gusesekara umunezero+ ku vyerekeye Imana Umukiza+ wanje; 48 kubera ko yitegereje ubufafara bw’umushumbakazi wiwe+. Kuko, ehe kuva ubu amayaruka yose azonyita umuhirwe+; 49 kubera ko wa Munyabubasha ankoreye ibikomeye, kandi izina ryiwe ni ryeranda +; 50 kandi uko amayaruka agenda arakurikirana, imbabazi ziwe ziba ku bamutinya+. 51 Yakoze ibikomeye n’ukuboko kwiwe+, yashwiragije abibona mu vyiyumviro vy’imitima yabo+. 52 Yamanuye ku ntebe z’icubahiro abanyabubasha+, ashira hejuru abantu batobato+; 53 yahagije ivyiza abashonje+, abari bafise ubutunzi na bo abarungika imbokoboko+. 54 Yaje gutabara Isirayeli umusavyi wiwe+, kugira yibuke imbabazi+, 55 nk’uko yabibwiye ba sogokuruza, Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe vyose+.” 56 Maze Mariya agumana na we nk’amezi atatu, hanyuma asubira iwabo.

57 Nuko igihe kiragera c’uko Elizabeti yibaruka, araheza avyara umwana w’umuhungu. 58 Maze ababanyi n’incuti ziwe bumva yuko Yehova yari yamugwijeko imbabazi ziwe+, na bo batangura kunezeranwa+ na we. 59 Ku musi ugira umunani baza kugenyera nya mwana mutoyi+, kandi bagira bamwite izina rya se, ari ryo Zekariya. 60 Mugabo nyina wiwe arishura ati: “Oya, habe namba! ahubwo niyitwe Yohani.” 61 Baca bamubwira bati: “Nta n’umwe mu ncuti zawe yitwa iryo zina.” 62 Maze babaza se wiwe mu bimenyetso uko ashaka ko yitwa. 63 Na we asaba igisate, yandika ngo: “Yohani+ ni ryo zina ryiwe.” Baca baratangara bose. 64 Ako kanya nyene akanwa kiwe karuguruka+, ururimi rwiwe ruragoboroka, atangura kuvuga, ahezagira Imana. 65 Ubwoba buca butekera ababa mu kibano cabo bose; kandi ivyo bintu vyose bitangura kuvugavugwa mu ntara yose y’imisozi ya Yudaya, 66 abavyumvise bose bakabishira ku mutima+, bakavuga bati: “None uyu mwana azomera ate?” Kuko ukuboko+ kwa Yehova kwari kumwe na we vy’ukuri.

67 Zekariya se wiwe yuzura impwemu nyeranda+, araheza avuga ubuhanuzi+ ati: 68 “Hahezagirwe Yehova Imana ya Isirayeli+, kuko yitayeho abantu biwe+ akabatunganiriza ukurokoka+. 69 Kandi yaduhagurukirije ihembe+ ry’ubukiriro mu nzu ya Dawidi umusavyi wiwe, 70 nk’uko yavuze biciye mu kanwa k’abahanuzi beranda biwe ba kera+ 71 ivy’ukudukiza abansi bacu be n’ukuboko kw’abatwanka bose+; 72 kugira agire imbabazi ku bijanye na ba sogokuruza no kugira yibuke isezerano ryiwe ryeranda+, 73 ya ndahiro yarahira Aburahamu sogokuruza wacu+, 74 yo kuduha, tumaze gutabarwa mu maboko y’abansi+, agateka ko kumurangurira igikorwa ceranda ata bwoba+ 75 mu kudahemuka no mu bugororotsi imbere yiwe imisi yacu yose+. 76 Mugabo weho ga mwana mutoyi, uzokwitwa umuhanuzi wa Musumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Yehova kugira utegure inzira ziwe+, 77 kugira uhe abantu biwe ubumenyi bw’ubukiriro biciye ku kubabarirwa ibicumuro vyabo+, 78 kubera impuhwe z’ikibabarwe z’Imana yacu. Ku bw’izo mpuhwe umutwenzi+ uzotugendera uvuye iyo hejuru+, 79 kugira ngo abicaye mu mwiza no mu gitutu c’urupfu bahabwe umuco+, kugira ngo ibirenge vyacu birongorwe neza mu nzira y’amahoro.”

80 Wa mwana mutoyi na we abandanya gukura+ no gukomera mu mpwemu, kandi aguma mu bugaragwa gushika umusi wo kwiyereka Isirayeli icese.

2 Nuko muri iyo misi ingingo+ irasohoka ivuye kwa Sezari Ogusito y’uko isi yose yandikwa 2 (iryo yandikwa rya mbere ryabaye igihe Kiriniyo yari buramatari wa Siriya); 3 maze abantu bose bafata ingendo baja kwiyandikisha+, umwe wese mu gisagara iwabo. 4 Na Yozefu araduga avuye i Galilaya, mu gisagara ca Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu+, kuko yari uwo mu nzu ya Dawidi no mu muryango wiwe+, 5 kugira yandikanwe na Mariya+, uwo yari yahawe ngo babane nk’uko yari yarasezeraniwe+, ico gihe akaba yari aremerewe n’imbanyi+. 6 Igihe bari ng’aho, imisi irakwira y’uko yibaruka. 7 Hanyuma yibaruka umwana wiwe w’umuhungu, imfura+, araheza amuzingira mu dutambara, amuryamika mu bwato bw’ibitungwa+, kuko ata kibanza baronse mu ndaro.

8 Vyongeye muri ico gihugu nyene, hari abungere baba hanze bateramiye amasho yabo mw’ijoro. 9 Buno nyene umumarayika wa Yehova+ ahagarara iruhande yabo, maze ubuninahazwa bwa Yehova+ bubakayanganira irya n’ino, na bo baca bagira ubwoba bwinshi. 10 Ariko nya mumarayika ababwira ati: “Ntimutinye, kuko ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi abantu bose bazogira+, 11 kuko uno musi Umukiza+ yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama+, mu gisagara ca Dawidi+. 12 Kandi iki ni co kibabera ikimenyetso: Muraza kubona uruyoya ruzingiriye mu dutambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.” 13 Hanyuma buno nyene haboneka ingabo indiri zo mw’ijuru+ ziri kumwe n’uwo mumarayika, zishemeza Imana+, ziti: 14 “Ubuninahazwa iyo hejuru+ mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro+ abe mu bantu ishima+.”

15 Nya bamarayika bamaze gutandukana na bo bakaja mw’ijuru, nya bungere batangura kubwirana bati: “Tugende dushike i Betelehemu turabe ico kintu cabaye Yehova+ atumenyesheje.” 16 Nuko bagenda bihuta, hanyuma babona Mariya hamwe na Yozefu, na rwa ruyoya ruryamye mu bwato bw’ibitungwa. 17 Barubonye, bamenyesha ijambo bari babwiwe ku vyerekeye uwo mwana mutoyi. 18 Abavyumvise bose batangazwa n’ivyo babwiwe na nya bungere, 19 mugabo Mariya azigama ayo majambo yose, agira ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe+. 20 Maze nya bungere basubira inyuma, baninahaza Imana bongera bayishemeza ku bw’ibintu vyose bumvise kandi babonye, nk’uko bari babibwiwe.

21 Imisi umunani+ ikwiye yo kumugenyera+, bamwita Yezu+, rya zina umumarayika yamwita imbere y’uko asamwa inda+.

22 Vyongeye, imisi yo kubatyorora+ nk’uko itegeko rya Musa riri imaze gukwira, bamudugana i Yeruzalemu kugira bamushikirize Yehova, 23 nk’uko vyanditswe mw’itegeko rya Yehova ngo: “Umuhungu wese yuguruye igitereko ategerezwa kwitwa mweranda kuri Yehova+,” 24 no gushikana ikimazi nk’uko bivugwa mw’itegeko rya Yehova ngo: “Intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+.”

25 Kandi ehe i Yeruzalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, uwo mugabo akaba yari umugororotsi, atinya Imana, yari arindiriye ukwirurwa kwa Isirayeli+, kandi impwemu nyeranda yari kuri we. 26 Ikigeretseko, yari yarahishuriwe n’Imana biciye ku mpwemu nyeranda yuko atobonye urupfu atabanje kubona Kristu+ wa Yehova. 27 Nuko, ku bubasha bw’impwemu+, aza mu rusengero; hanyuma igihe abavyeyi bazanye wa mwana mutoyi Yezu kugira bamugirire nk’uko vyari bisanzwe bigirwa hisunzwe umugenzo wo mw’itegeko+, 28 we ubwiwe aramwakira mu maboko yiwe hanyuma ahezagira Imana avuga ati: 29 “Ubu rero Mukama Segaba, uraretse umushumba wawe ngo yigire mu mahoro+ nk’uko ijambo ryawe ryabimenyesheje; 30 kuko amaso yanje abonye uburyo bwawe bwo gukiza+ 31 ubwo watunganije mu maso y’ibisata vyose+, 32 umuco+ wo gukura icitwikiro+ ku mahanga+ be n’ubuninahazwa bw’igisata cawe Isirayeli.” 33 Se wiwe na nyina wiwe babandanya gutangazwa n’ibintu bivugwa kuri we. 34 Vyongeye, Simeyoni arabahezagira, mugabo abwira Mariya nyina wa nya mwana ati: “Ehe, uyu ashiriweho ugutemba+ n’ukwongera kuvyuka kwa benshi muri Isirayeli+ no kuba ikimenyetso co kuvugwa nabi+ 35 (egome, inkota ndende izosogota umutima wawe+), kugira ngo ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bitwikururwe+.”

36 Buno hari Ana umuhanuzikazi, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri (uwo mugore yari yitereye mu myaka, akaba yari yabanye n’umugabo imyaka indwi kuva mu busugi bwiwe, 37 kandi ico gihe yari umupfakazi+ w’imyaka mirongo umunani n’ine), atigera ahara mu rusengero, akora igikorwa ceranda ijoro n’umurango+ yisonzesha yongera atakamba. 38 Hanyuma kuri iyo saha nyene aregera, atangura gukengurukira Imana no kubwira ivya nya mwana abari barindiriye ukurokoka kwa Yeruzalemu bose+.

39 Bamaze gushitsa ibintu vyose nk’uko itegeko+ rya Yehova ryari, basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti+. 40 Nya mwana mutoyi abandanya gukura no gukomera+, yuzura ubukerebutsi, ubutoni bw’Imana+ na bwo buguma kuri we.

41 Kandi abavyeyi biwe bari bamenyereye kuja i Yeruzalemu+ ku mwaka ku mwaka ku bw’umusi mukuru wa pasika*. 42 Ashikanye imyaka cumi n’ibiri, baraduga nk’uko umugenzo+ w’uwo musi mukuru wari 43 hanyuma barangiza iyo misi. Mugabo bariko baragaruka, nya muhungu Yezu asigara inyuma i Yeruzalemu, abavyeyi biwe na bo ntibabimenya. 44 Kubera bibwira yuko yari mu mugwi w’abari bafadikanije na bo urugendo, bagira urugendo rw’umusi+, baca batangura kumuhiga mu ncuti no mu bo bazinanyi. 45 Mugabo bamubuze, basubira i Yeruzalemu, baramurondera bashirutse ubute. 46 Nuko, inyuma y’imisi itatu bamusanga mu rusengero+, yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yongera ababaza ibibazo. 47 Mugabo abariko bamwumviriza bose baguma bumizwa n’ugutegera kwiwe be n’inyishu ziwe+. 48 Bamubonye barajorerwa, hanyuma nyina wiwe amubwira ati: “Mwananje, kubera iki watugiriye gutyo? Raba ingene twe na so twahagaritse umutima tukurondera.” 49 Mugabo ababwira ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe+?” 50 Ariko ntibategera ijambo ababwiye+.

51 Hanyuma amanukana na bo ashika i Nazareti, aguma abayobokera+. Vyongeye, nyina wiwe abika neza ayo majambo yose mu mutima wiwe+. 52 Yezu abandanya gutera imbere mu bukerebutsi+ no gukura ku mubiri no kugira ubutoni ku Mana no ku bantu+.

3 Mu mwaka ugira cumi na gatanu w’ingoma ya Tiberiyo Sezari, igihe Ponsiyo Pilato yari buramatari wa Yudaya, Herodi+ na we akaba yari umutware w’intara ya Galilaya, mugabo Filipo mwene wabo akaba yari umutware w’intara w’igihugu ca Itureya na Tirakonitidi, Lisaniya na we akaba yari umutware w’intara ya Abilene, 2 mu misi y’umukuru w’abaherezi Anasi n’iya Kayifa+, ijambo rivuye ku Mana riza kuri Yohani+ mwene Zekariya mu gahinga+.

3 Nuko aza mu gihugu cose co mu micungararo ya Yorodani, yamamaza ibatisimu y’ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro+, 4 nk’uko vyanditswe mu gitabu c’amajambo ya Yesaya umuhanuzi ngo: “Umve! Hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimutegure inzira ya Yehova, mugorore amayira yiwe+. 5 Umukokwe wose utegerezwa kwuzuzwa, kandi umusozi wose n’umurambi wose bitegerezwa kuringanizwa, n’ahagoramanze hategerezwa gucika inzira zigororotse, ahantu h’ibidunduri na ho hacike inzira zisenye+; 6 kandi ibiri n’umubiri vyose bizobona uburyo Imana ikirisha+.’ ”

7 Atangura rero kubwira amasinzi y’abaza kubatizwa na we ati: “Mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, ni nde yabagiriye inama yo guhunga uburake bugiye kuza+? 8 Nimwame rero ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya+. Kandi ntimutangure kwibwira ngo: ‘Data ni Aburahamu.’ Kuko ndababwiye yuko Imana ifise ububasha bwo guhagurukiriza Aburahamu abana ibakuye muri aya mabuye. 9 Koko ishoka iramaze kuja mu kibanza cayo ku muzi w’ibiti; igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kibwirizwa gucibwa kigatererwa mu muriro+.”

10 Nya masinzi na yo yaramubaza ati: “None tugire dute+?” 11 Akayishura ati: “Uwufise impuzu zo munsi zibiri nasangire n’uwutagira n’imwe, n’uwufise ivyo kurya agire gutyo nyene+.” 12 Mugabo n’abatozakori baraza kubatizwa, bakamubwira bati: “Mwigisha, tugire dute+?” 13 Akababwira ati: “Ntihagire ico musaba kirenze ikori risabwa+.” 14 Abari mu gikorwa ca gisirikare na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Na we akababwira ati: “Ntihagire uwo mutoteza canke ngo hagire uwo mwagiriza+ ibinyoma, mugabo mubumbwe n’ivyo muhabwa+.”

15 Kubera ko abantu bari biteze Kristu kandi bose bakaba bariko biyumvira mu mitima yabo ku vyerekeye Yohani bati: “Ubwo ntiyoba ari we Kristu+?”, 16 Yohani arishura, abwira bose ati: “Jeho ndababatirisha amazi; mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi umugozi w’inkweto* ziwe ntibimbereye kuwupfundurura+. Azobabatirisha impwemu nyeranda n’umuriro+. 17 Ikiyozo ciwe co kugosoza kiri mu kuboko kwiwe kugira ngo asukure imbuga yiwe y’ikubitiro ayinoze no kugira ngo yegeranirize+ ingano mu kigega ciwe, mugabo umuguruka+ azowuturiza umuriro+ udashobora kuzima.”

18 Ababwira rero n’ayandi majambo menshi yo kubahimiriza, kandi abandanya kumenyesha abantu inkuru nziza. 19 Mugabo Herodi umutware w’intara, kubera yari yakangiriwe na we ku bijanye na Herodiya umugore wa mwene wabo no ku bijanye n’ibikorwa vy’ububisha vyose Herodi yakoze+, 20 yongerako n’iki kintu kuri ivyo vyose: yugaranira Yohani mw’ibohero+.

21 Abantu bose bamaze kubatizwa, Yezu+ na we nyene arabatizwa, maze ariko arasenga, ijuru+ riruguruka 22 hanyuma impwemu nyeranda imanuka kuri we mu mero y’umubiri nk’inuma, maze ijwi riva mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye+.”

23 Ikigeretseko, Yezu ubwiwe, igihe yatangura igikorwa ciwe+, yari afise imyaka nka mirongo itatu+, kandi nk’uko ico gihe vyiyumvirwa akaba yari

mwene+ Yozefu+,

Yozefu mwene Heli,

24 Heli mwene Matati,

Matati mwene Lewi,

Lewi mwene Meluki,

Meluki mwene Yanayi,

Yanayi mwene Yozefu,

25 Yozefu mwene Matatiya,

Matatiya mwene Amosi,

Amosi mwene Nahumu,

Nahumu mwene Esili,

Esili mwene Nagayi,

26 Nagayi mwene Mayati,

Mayati mwene Matatiya,

Matatiya mwene Semeyini,

Semeyini mwene Yoseki,

Yoseki mwene Yoda,

27 Yoda mwene Yohanani,

Yohanani mwene Resa,

Resa mwene Zerubabeli+,

Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli+,

Sheyalutiyeli mwene Neri,

28 Neri mwene Meluki,

Meluki mwene Adi,

Adi mwene Kosamu,

Kosamu mwene Elumadamu,

Elumadamu mwene Eri,

29 Eri mwene Yezu,

Yezu mwene Eliyezeri,

Eliyezeri mwene Yorimu,

Yorimu mwene Matati,

Matati mwene Lewi,

30 Lewi mwene Simeyoni,

Simeyoni mwene Yuda,

Yuda mwene Yozefu,

Yozefu mwene Yonamu,

Yonamu mwene Eliyakimu,

31 Eliyakimu mwene Meleya,

Meleya mwene Mena,

Mena mwene Matata,

Matata mwene Natani+,

Natani mwene Dawidi+,

32 Dawidi mwene Yese+,

Yese mwene Obedi+,

Obedi mwene Bowazi+,

Bowazi mwene Salumoni+,

Salumoni mwene Nahashoni+,

33 Nahashoni mwene Aminadabu+,

Aminadabu mwene Aruni+,

Aruni mwene Hezironi+,

Hezironi mwene Perezi+,

Perezi mwene Yuda+,

34 Yuda mwene Yakobo+,

Yakobo mwene Izahaki+,

Izahaki mwene Aburahamu+,

Aburahamu mwene Tera+,

Tera mwene Nahori+,

35 Nahori mwene Serugi+,

Serugi mwene Reyu+,

Reyu mwene Pelegi+,

Pelegi mwene Eberi+,

Eberi mwene Shela+,

36 Shela mwene Kayinani,

Kayinani mwene Arupakishadi+,

Arupakishadi mwene Shemu+,

Shemu mwene Nowa+,

Nowa mwene Lameki+,

37 Lameki mwene Metusela+,

Metusela mwene Henoki+,

Henoki mwene Yaredi+,

Yaredi mwene Mahalaleli+,

Mahalaleli mwene Kayinani+,

38 Kayinani mwene Enoshi+,

Enoshi mwene Seti+,

Seti mwene Adamu+,

Adamu umwana w’Imana.

4 Buno Yezu, yuzuye impwemu nyeranda, aragaruka avuye kuri Yorodani, hanyuma ajanwa n’impwemu hirya no hino mu gahinga+ 2 mu kiringo c’imisi mirongo ine+ ageragezwa+ na Shetani*. Ikigeretseko, nta co yarya muri iyo misi; nuko irangiye, arasonza. 3 Shetani aca amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira iri buye ricike umukate.” 4 Mugabo Yezu aramwishura ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa+.’ ”

5 Nuko amudugana ahakirurutse, amwereka mu kanya gatoyi ubwami bwose bw’isi; 6 hanyuma Shetani amubwira ati: “Ndaguha ubwo bubasha bwose+ n’ubuninahazwa bwabwo, kubera ko nabuhawe, kandi uwo nshaka wese ndabumuha+. 7 Wewe rero, niwapfa kwikubita+ imbere yanje ukansenga, vyose biraba rwawe.” 8 Yezu amwishura ati: “Vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe+ ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.’ ”

9 Buno amujana i Yeruzalemu amushira hejuru ku gakuta k’ikirindiro+ k’urusengero, amubwira ati: “Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi uvuye ng’aha+; 10 kuko vyanditswe ngo: ‘Azoha itegeko abamarayika biwe ku bikwerekeye, kugira ngo bakuzigame+,’ 11 kandi ngo: ‘Bazokurerura mu maboko yabo, ngo ntiwigere ukubita ikirenge kw’ibuye+.’ ” 12 Yezu amwishura ati: “Bivugwa ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe+.’ ” 13 Nuko Shetani arangije ivyo amugerageresha vyose, aramureka kugeza aronse akandi karyo keza+.

14 Hanyuma Yezu aragaruka i Galilaya+, ari mu bubasha bw’impwemu. Maze amakuru meza avugwa kuri we akwiragira mu gihugu cose kihakikuje+. 15 Vyongeye, atangura kwigisha mu masinagogi yabo, aterwa iteka na bose+.

16 Hanyuma aza i Nazareti+, aho yari yararerewe; kandi nk’uko yari amenyereye kubigira ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi+, hanyuma arahaguruka ngo asome. 17 Nuko ahabwa umuzingo w’umuhanuzi Yesaya, araheza azingurura nya muzingo, atora ahari handitswe ngo: 18 “Impwemu ya Yehova+ iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta* kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+, 19 kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova+.” 20 Aca azinga nya muzingo, awusubiza umusuku hanyuma aricara; kandi amaso y’abari mw’isinagogi bose aguma ashinze kuri we. 21 Maze atangura kubabwira ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse+.”

22 Bose batangura kumushingira intahe nziza no gutangazwa n’amajambo y’igikundiro+ ava mu kanwa kiwe, bakavuga bati: “None uyu si umuhungu wa Yozefu+?” 23 Aca ababwira ati: “Ntimuzobura kunyerekezako iki kigereranyo ngo: ‘Muganga+, niwikize; ibintu+ twumvise ko vyabereye i Kaperinawumu+ nubikore no ng’aha mu karere iwanyu+.’ ” 24 Mugabo avuga ati: “Ni ukuri ndababwiye yuko ata muhanuzi yemerwa mu karere iwabo. 25 Nk’akarorero, ndababwije ukuri: Hari abapfakazi benshi muri Isirayeli mu misi ya Eliya, igihe ijuru ryugarwa imyaka itatu n’amezi atandatu, ku buryo ikigoyi gikomeye gitera mu gihugu cose+, 26 yamara Eliya nta n’umwe yarungitsweko muri abo bagore; ahubwo yarungitswe gusa i Zarefati+ mu ntara y’i Sidoni, ku mupfakazi. 27 Vyongeye, hari abanyamibembe benshi muri Isirayeli mu gihe ca Elisha umuhanuzi, yamara nta n’umwe muri bo yahumanuwe, atari Namani wa Musiriya+.” 28 Buno abariko barumva ivyo bintu mw’isinagogi bose baca buzura ishavu+; 29 baca barahaguruka bamunyarukana inyuma y’igisagara, bamujana hejuru ku musozi wari wubatsweko igisagara cabo, kugira ngo bamumandagarize epfo atanguze umutwe+. 30 Mugabo abaca hagati arigira+.

31 Nuko amanuka i Kaperinawumu+, igisagara c’i Galilaya. Hanyuma yariko arabigisha kw’isabato; 32 bajorezwa n’uburyo yigisha+, kuko amajambo yiwe yari n’ububasha+. 33 Buno mw’isinagogi hari umuntu arimwo impwemu+, idayimoni* ihumanye, hanyuma arasemerera n’ijwi rirenga ati: 34 “Aaa! Duhuriye ku ki nawe+, ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi+ neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana+.” 35 Mugabo Yezu arayikankamira ati: “Cereza, kandi muvemwo.” Nuko, iyo dayimoni imaze gutura hasi nya mugabo hagati yabo, imuvamwo ata co imugize+. 36 Ivyo bibaye, bose barajongoroka, batangura kuganira hagati yabo, bavuga bati: “Iyo mvugo ni bwoko ki, ko akoresha ububasha n’ubushobozi agategeka impwemu zihumanye, zigasohoka+?” 37 Amakuru amwerekeye aguma rero akwira mu mihingo yose y’igihugu kihakikuje+.

38 Amaze guhaguruka akava mw’isinagogi, yinjira mu nzu kwa Simoni. Buno inabukwe wa Simoni yari arembejwe n’inyonko ikaze, hanyuma bamusaba ngo amufashe+. 39 Nuko ahagarara hejuru yiwe, akankamira ya nyonko+, ica iramuvako. Ako kanya nyene aca arahaguruka, atangura kubakorera+.

40 Mugabo izuba ririko rirarenga, abantu bose bari bafise abarwaye indwara zitari zimwe babazana kuri we. Arambika ibiganza kuri umwe wese muri bo, arabakiza+. 41 N’amadayimoni yarava mu bantu benshi+, agasemerera avuga ati: “Uri Umwana w’Imana+.” Mugabo yarayakankamira ntayemerere kuvuga+, kuko ano yari amuzi+ ko ari Kristu+.

42 Ariko bukeye, arasohoka aja mu gahinga+. Mugabo amasinzi atangura kumuhiga hirya no hino arateba ashika aho ari, hanyuma agerageza kumugumya ngo ntaje kure yabo. 43 Mugabo ababwira ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe+.” 44 Nuko abandanya kwamamaza mu masinagogi y’i Yudaya+.

5 Igihe isinzi ryariko rimuhundarako ryongera ryumviriza ijambo ry’Imana, yari ahagaze iruhande y’ikiyaga ca Genesareti+. 2 Hanyuma abona ubwato bubiri buhagaritswe ku nkengera y’ikiyaga, mugabo abarovyi bari babuvuyemwo, bariko boza insenga zabo+. 3 Yuriye bumwe muri ubwo bwato, bukaba bwari ubwa Simoni, amusaba kubwigizayo gatoya uvuye i musozi. Maze aricara, hanyuma ari mu bwato+ atangura kwigisha ya masinzi. 4 Ahagaritse kuvuga, abwira Simoni ati: “Igira aho amazi agera kure, hanyuma muterere insenga zanyu+ murobe.” 5 Mugabo Simoni yishura ati: “Mwigisha, twacumukuye ijoro ryose ntitwafata namba+, mugabo ko ubitegetse ndamanura insenga.” 6 Nuko ngo babigire, begeranya ifi indiri n’indiri. Nkako insenga zabo zitangura gutabuka. 7 Nuko bagirira ikimenyetso bagenzi babo mu bundi bwato ngo baze babafashe+; na bo baraza, buzuza bwa bwato bwompi, ku buryo butangura kuzama. 8 Simoni Petero+ ngo abibone, aca yikubita imbere y’amavi ya Yezu, avuga ati: “Va aho ndi, Mukama, kuko ndi umunyabicumuro+.” 9 Kuko aho bafatiye izo fi, we hamwe n’abari kumwe na we bose bajongorotse, 10 na Yakobo na Yohani, ba bahungu ba Zebedayo+, bari bafatanije na Simoni. Mugabo Yezu abwira Simoni ati: “Yaco utinya. Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima+.” 11 Nuko bagarukana bwa bwato i musozi, baheba vyose baramukurikira+.

12 Ikindi gihe ari muri kimwe mu bisagara, haza umugabo yuzuye imibembe! Akubise ijisho Yezu yubarara hasi, aramwinginga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura+.” 13 Nuko, aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka.” Buno nyene ya mibembe ica iramuvako+. 14 Maze ategeka nya mugabo kutagira umuntu n’umwe abibwira+, amubarira ati: “Mugabo genda wiyereke umuherezi+, ushikane ishikanwa+ rijanye n’uguhumanurwa kwawe, nk’uko Musa yabitegetse, kugira bibabere intahe+.” 15 Mugabo amakuru amwerekeye arushiriza gukwiragira, kandi amasinzi menshi yaratororokanira hamwe kugira ngo bumvirize no kugira ngo bakizwe indwara zabo+. 16 Ariko we aguma ukwa wenyene mu bugaragwa yongera asenga+.

17 Kuri umwe muri iyo misi yariko arigisha, kandi ng’aho hari hicaye Abafarizayo* n’abigisha b’itegeko bari baje bavuye mu bigwati vyose vy’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yeruzalemu; kandi ububasha bwa Yehova bwari ng’aho kugira ngo akize+. 18 Maze haza abantu bateruye ku gitanda umuntu yari amugaye, bakaba bariko barondera ingene bomwinjiza bakamushira imbere yiwe+. 19 Nuko, babuze ingene bamwinjiza kubera isinzi, burira hejuru ku gisenge, bamucisha mu mategura, bamwururutsanya na ka gatanda hagati mu bari imbere ya Yezu+. 20 Abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Wa muntu we, urababariwe ibicumuro vyawe+.” 21 Kuri ivyo, abanditsi n’Abafarizayo batangura kwiyumvira, bavuga bati: “Ni nde uyo avuga ibirogotano+? Ni nde ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana yonyene+?” 22 Mugabo Yezu amenya ivyiyumviro vyabo, abishura ati: “Muriko mwiyumvira ibiki mu mitima yanyu+? 23 Icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: ‘Urababariwe ibicumuro vyawe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utambuke+’? 24 Mugabo kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu afise ububasha kw’isi bwo kubabarira ibicumuro...” abwira nya muntu amugaye ati: “Ndabikubwiye: Haguruka, utore agatanda kawe witahire+.” 25 Ako kanya nyene aca arahaguruka imbere yabo, atora kimwe yahora aryamako, aritahira, agenda aninahaza Imana+. 26 Maze bose uko bangana bagwa mu gahundwe+, batangura kuninahaza Imana, batekerwa n’ubwoba, bavuga bati: “Uno musi turabonye ibintu bitabaho+!”

27 Inyuma y’ivyo arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira+.” 28 Na we asiga vyose+ arahaguruka aramukurikira. 29 Vyongeye, Lewi amutunganiriza inzimano ihambaye mu nzu iwe; kandi hari isinzi rinini ry’abatozakori n’abandi bari kumwe na bo ku meza+. 30 Abafarizayo n’abanditsi babo baca batangura kwidodombera abigishwa biwe, bavuga bati: “Kubera iki musangira ibiribwa n’ibinyobwa n’abatozakori be n’abacumuzi+?” 31 Yezu abishura ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga+, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera+. 32 Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye+.”

33 Bamubwira bati: “Abigishwa ba Yohani barisonzesha kenshi bakongera bagatura intakambo, kandi n’ab’Abafarizayo ni ko bagira, mugabo abawe baririra bakinywera+.” 34 Yezu ababwira ati: “Mbega mwoshobora gusaba abagenzi b’umukwe kwisonzesha kandi umukwe akiri kumwe na bo+? 35 Yamara hazoza imisi aho umukwe+ azokurwa muri bo koko+; bazoheza rero bisonzeshe muri iyo misi+.”

36 Vyongeye, abandanya kubaha ikigereranyo ati: “Nta wutabura ikiremo ku mpuzu yo hejuru nshasha ngo agishonere ku mpuzu yo hejuru ishaje; mugabo abigize, ca kiremo gishasha kiraheza kigakwega, kandi ico kiremo cakuwe ku mpuzu yo hejuru nshasha ntikijana n’impuzu yo hejuru ishaje+. 37 Vyongeye, nta wushira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; mugabo abigize, nya muvinyu mushasha uzoheza uturitse ya mikuza y’inshato+, kandi uzoseseka, nya mikuza y’inshato na yo ishwanyagurike+. 38 Mugabo umuvinyu mushasha utegerezwa gushirwa mu mikuza y’inshato mishasha. 39 Nta wanyoye umuvinyu ushaje yoshaka mushasha; kuko avuga ati: ‘Uwushaje+ ni wo mwiza.’ ”

6 Hanyuma rero kw’isabato yariko aca mu mirima y’ingano, abigishwa biwe na bo bakaba bariko bamyoza uduhundo tw’intete+ bongera barya, batuvungurira mu minwe yabo+. 2 Bamwe mu Bafarizayo baca bavuga bati: “Kubera iki muriko mukora ibitemewe+ gukorwa kw’isabato+?” 3 Mugabo Yezu mu kubishura avuga ati: “Mbega ntimurigera musoma ikintu Dawidi+ yakoze igihe we hamwe n’abantu bari kumwe na we basonza+? 4 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana akakira imikate ishirwa imbere y’Imana*+ akarya agahako n’abantu bari kumwe na we, kikaba ari ikintu ata n’umwe yemerewe kurya kiretse abaherezi gusa+?” 5 Abandanya kubabwira ati: “Umwana w’umuntu ni Umukama w’isabato+.”

6 Ku yindi sabato+ yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Kandi ng’aho hari umugabo yanyunyutse ukuboko kw’ukuryo+. 7 Ico gihe abanditsi n’Abafarizayo bari bamureretse+ bitonze ngo barabe ko akiza kw’isabato, kugira ngo baronke ingene bomwagiriza+. 8 Ariko we yari azi ivyiyumviro vyabo+, yamara abwira nya mugabo yanyunyutse ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hagati.” Na we ava hasi arahagarara+. 9 Maze Yezu ababwira ati: “Ndababajije: Vyoba vyemewe kw’isabato gukora iciza+ canke gukora ikibi, gukiza ubuzima canke kubukuraho+?” 10 Amaze kweraguza abaraba bose, abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Agira kuno, ukuboko kwiwe guca kurakira+. 11 Mugabo baca buzura ubusazi, batangura kuvugana hagati yabo ico bogira Yezu+.

12 Muri iyo misi aja ku musozi gusenga+, abandanya gusenga Imana ijoro ryose+. 13 Mugabo hakeye, ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we hanyuma atora muri bo cumi na babiri, ari na bo kandi yise “intumwa+”: 14 Simoni, ari na we kandi yise Petero+, na Andereya mwene wabo, Yakobo na Yohani+, Filipo+ na Barutelemi, 15 Matayo na Toma+, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni uwitwa “umunyamwete+,” 16 na Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyoti, uwahavuye aba umuguranyi+.

17 Hanyuma amanukana na bo, ahagarara ahantu hashashe, kandi ng’aho hari isinzi rinini ry’abigishwa biwe, n’abantu indiri n’indiri+ bari bavuye i Yudaya hose n’i Yeruzalemu no mu ntara y’i Tiro n’i Sidoni ihereranye n’ikiyaga, bakaba bari baje kumwumviriza no gukizwa indwara zabo+. 18 Mbere n’abadurumbanywa n’impwemu zihumanye barakizwa. 19 Kandi isinzi ryose ryariko rirondera kumukorako+, kubera ko ububasha+ bwamuvamwo bukabakiza bose.

20 Hanyuma yunamura amaso araba abigishwa biwe, atangura kuvuga+ ati:

“Murahiriwe mwebwe aboro+, kuko ubwami bw’Imana ari ubwanyu.

21 “Murahiriwe mwebwe mushonje+ ubu, kuko muzohazwa+.

“Murahiriwe mwebwe murira ubu, kuko muzotwenga+.

22 “Muzoba muhiriwe igihe cose abantu bazoba babanse+, n’igihe cose bazoba babaciye, bakabatuka kandi bakiyamiriza+ izina ryanyu ngo muri babi babahora Umwana w’umuntu. 23 Munezerwe kuri uwo musi kandi musimbasimbe, kuko ehe impembo yanyu ni nini mw’ijuru, kuko ivyo ari vyo nyene ba sekuruza babo bahora bagirira abahanuzi+.

24 “Mugabo muragowe mwebwe abatunzi+, kuko mumaze kuronka ukwirurwa kwanyu kwose+.

25 “Muragowe mwebwe muhaze ubu, kuko muzosonza+.

“Muragowe, mwebwe muriko muratwenga ubu, kuko muzogandara mukarira+.

26 “Muzoba mugowe, igihe cose abantu bose bazoba babavuga neza, kuko ibintu nk’ivyo ari vyo ba sekuruza babo bagirira abahanuzi b’ikinyoma+.

27 “Mugabo ndabibabwiye mwebwe muriko murumviriza: Mubandanye gukunda abansi banyu+, kugirira neza+ ababanka, 28 guhezagira ababavuma, gusabira ababatuka+. 29 Uwugukubise kw’itama rimwe+, tega n’irindi; kandi uwugutwaye+ impuzu yo hejuru, ntumwime n’impuzu yo munsi. 30 Nuhe umuntu wese agusaba+, kandi uwutwaye ivyawe ntumusabe kubigusubiza.

31 “Vyongeye, nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira+.

32 “Kandi nimwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kuko n’abacumuzi bakunda ababakunda+. 33 Kandi nimwakorera iciza ababakorera iciza, mu vy’ukuri muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi bagira nk’ivyo nyene+. 34 Vyongeye, nimwaha ingurane abo mwitega kuronkako ikintu+, muzoshimwa iki? Erega n’abacumuzi baraha ingurane abacumuzi kugira ngo baze bishurwe indinganire+. 35 Ahubwo mubandanye gukunda abansi banyu no gukora iciza no gutanga ingurane+, mutizigiye kwishurwa ikintu na kimwe; kandi impembo yanyu izoba nini, kandi muzoba abana ba Musumbavyose+, kuko agirira ubuntu+ intashima n’ababisha. 36 Mubandanye kuba abanyembabazi, nk’uko na So ari umunyembabazi+.

37 “Vyongeye, mureke guca urubanza, namwe ntimuzogenda muciriwe urubanza+; kandi mureke gutsindisha, namwe ntimuzogenda mutsindishijwe. Mugume murekura, namwe muzorekurwa+. 38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako+.”

39 Maze yongera kubaha ikigereranyo ati: “Mbega impumyi yoshobora kurongōra impumyi? None zompi ntizizogwa mu cobo+? 40 Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, mugabo umuntu wese yigishijwe bimwe bitunganye azoba nk’umwigisha wiwe+. 41 Kubera iki none uraba igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu, mugabo ntiwihweze ikigiga kiri mu jisho ryawe bwite+? 42 Ushobora gute kubwira mwene wanyu ngo: ‘Mwene wacu, tega ngukure igikumbi kiri mu jisho ryawe,’ kandi wewe ubwawe utaraba ikigiga kiri muri iryo jisho ryawe+? Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure nya kigiga mu jisho ryawe+, maze uzoheza ubone neza ingene ukura igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu+.

43 “Kuko ata giti ciza cama ivyamwa biboze; kandi nta giti kiboze cama ivyamwa vyiza+. 44 Kuko igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco+. Nk’akarorero, abantu ntibamura insukoni ku mahwa, canke ngo bace inzabibu ku gisaka c’amahwa+. 45 Umuntu mwiza asohora ivyiza mw’itunga ryiza+ ry’umutima wiwe, mugabo umuntu mubi asohora ibibi mw’itunga ryiwe ribi; kuko akanwa kiwe kavuga bivanye n’ibibogaboga mu mutima+.

46 “Kubera iki none mumpamagara ngo: ‘Mukama! Mukama!’ mugabo ntimukore ivyo mvuga+? 47 Umuntu wese aza kuri jewe akumva amajambo yanje kandi akayashira mu ngiro, ndabereka uwo basa+: 48 Asa n’umugabo yubaka inzu, yimvye aramanuka epfo ashinga umushinge ku gitandara. Igihe rero hatera isegenya+, uruzi rwarisutse kuri iyo nzu, mugabo ntirwagira inguvu zihagije zo kuyinyiganyiza, kubera ko yari yubatswe neza+. 49 Ariko uwumva ntashire mu ngiro+, asa n’umugabo yubatse inzu kw’ivu ata mushinge. Uruzi rwarayisutseko, hanyuma buno nyene ica irasenyuka, kandi ihomvoka+ rya nya nzu ryabaye irikomeye+.”

7 Arangije amajambo yiwe yose abantu bumva, yinjira i Kaperinawumu+. 2 Ico gihe umushumba w’intwazangabo imwe, uwo yakunda cane, yari arwaye ari mu guhwera+. 3 Nya ntwazangabo yumvise ivyerekeye Yezu, amutumako abagabo b’inararibonye bo mu Bayuda ngo bamusabe aze gutabara umushumba wiwe. 4 Maze abaje kuri Yezu batangura kumwinginga n’ubwira bwinshi, bati: “Arabereye ko ubimugirira, 5 kuko akunda ihanga ryacu+, kandi ubwiwe ni we yatwubakiye isinagogi.” 6 Nuko Yezu afata inzira ajana na bo. Mugabo ageze hafi ya nya nzu, ya ntwazangabo yari yamaze kurungika abagenzi kumubwira bati: “Mutungwa, ntiwigore, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje+. 7 Ico ni co catumye mbona ko ntabereye kuza kuri wewe. Mugabo rivuge, umusavyi wanje akire. 8 Kuko na jewe ngabwa, nkagira abasoda ngaba, nkabwira uyu nti: ‘Genda!’, akagenda, nabwira uwundi nti: ‘Ngwino!’, akaza, nabwira umushumba wanje nti: ‘Kora iki!’, akagikora+.” 9 Erega, Yezu yumvise ivyo bintu atangazwa na we, hanyuma arahindukira araba isinzi ririko riramukurikira, avuga ati: “Ndabibabwiye: Mbere no muri Isirayeli sinahasanze ukwizera kwinshi gutyo+.” 10 Nuko abari barungitswe, aho bagarukiye kuri nya nzu, basanga wa mushumba afise amagara meza+.

11 Haciye igihe gitoyi inyuma y’aho, afata urugendo aja mu gisagara citwa Nayini, kandi abigishwa biwe be n’isinzi rinini bari bafatanije na we urugendo. 12 Yegereye irembo ry’igisagara, abona abantu bari basohokanye umupfu+, akaba yari we mwana w’ikinege+ nyina yari afise. Bitayeko, nyina yari umupfakazi. Isinzi ritari rito rivuye mu gisagara na ryo nyene ryari kumwe na we. 13 Umukama ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe+, amubwira ati: “Reka kurira+.” 14 Aca aregera, akora ku nderuzo, abayiteruye na bo barahagarara, hanyuma avuga ati: “Musore, ndabikubwiye: Haguruka+!” 15 Maze wa muntu yari yapfuye aricara, atangura kuvuga, araheza amuha nyina+. 16 Ubwoba+ buca burabatekera bose, batangura kuninahaza Imana, bavuga bati: “Umuhanuzi akomeye+ yahagurukijwe muri twebwe,” kandi bati: “Imana yitayeho abantu bayo+.” 17 Nuko iyo nkuru imwerekeye ikwiragira i Yudaya hose no mu gihugu cose kihakikuje.

18 Maze abigishwa ba Yohani bamwiganira ivyo bintu vyose+. 19 Nuko Yohani ahamagaza babiri mu bigishwa biwe, abarungika ku Mukama kuvuga bati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi+?” 20 Nya bagabo bamushikiriye bavuga bati: “Yohani Umubatizi yadutumye kuri wewe kuvuga duti: ‘Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi?’ ” 21 Kuri iyo saha akiza benshi indwara+ n’ubumuga bubabaza be n’impwemu mbi, yongera agirira ubutoni impumyi nyinshi, zirabona. 22 Nuko yishura bamwe babiri ati: “Gende+, mwiganire Yohani ivyo mwabonye kandi mwumvise: impumyi+ zirahumuka, abacumbagira baragenda, abanyamibembe barahumanurwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabwirwa+ inkuru nziza+. 23 Kandi hahiriwe uwutatsitaye kubera jewe+.”

24 Aho intumwa za Yohani zimariye kugenda, atangura kubwira amasinzi ku vyerekeye Yohani ati: “Mwagiye mu gahinga kuraba iki? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+? 25 None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu zo hejuru ziremvye+? Erega abambaye impuzu zakaka bakaba kandi bibera mu bihinda, bari mu nzu z’abami+. 26 None vy’ukuri mwagiye kuraba iki? Umuhanuzi+? Egome, ndabibabwiye, kandi araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 27 Uwo ni we handitswe ku bimwerekeye ngo: ‘Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe+, ni yo izogutegurira inzira imbere yawe+.’ 28 Ndabibabwiye: Mu bavutse ku bagore nta n’umwe aruta+ Yohani; mugabo umuto mu bwami bw’Imana aramuruta+.” 29 (Abantu bose be n’abatozakori, aho bavyumviye, bamenyesha ko Imana igororotse+, bakaba bari babatijwe ibatisimu ya Yohani+. 30 Mugabo Abafarizayo be n’abahanga mu vy’Itegeko bakengera inama+ y’Imana iberekeye, bakaba batari babatijwe na we.)

31 “None abantu b’iri yaruka ndabagereranye na nde, kandi bameze nka nde+? 32 Bameze nk’abana batoyi bicaye mu kaguriro bariko basemerera babwirana, bakavuga bati: ‘Twabavugirije umwironge, ntimwatamba; twaboroze, ntimwarira+.’ 33 Na Yohani Umubatizi nyene yaje atarya umukate canke ngo anywe umuvinyu, mugabo muvuga ngo: ‘Arimwo idayimoni+.’ 34 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugabo muvuga ngo: ‘Ehe umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+!’ 35 Ariko ubukerebutsi+ bwerekanwa ko bugororotse n’abana babwo bose+.”

36 Umwe mu Bafarizayo rero aguma amusaba gusangira na we ibifungurwa. Nuko yinjira mu nzu+ kwa nya Mufarizayo, hanyuma aja ku meza. 37 Maze umugore yari azwi mu gisagara ko ari umucumuzi amenya yuko Yezu yari ku meza mu nzu ya nya Mufarizayo, aca azana ikebano ryo mu tubuyenge twitwa alabasitironi*+ ririmwo amavuta amota neza, 38 hanyuma aja inyuma ku birenge vyiwe, ararira, maze atangura gutotesha ibirenge vyiwe amosozi yiwe, akaza arabihanaguza umushatsi wo ku mutwe wiwe. Vyongeye, aza arasomagurana ikibabarwe ibirenge vyiwe, abisiga ya mavuta amota neza. 39 Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye yibwira muri we ati: “Uyu muntu iyo aba ari umuhanuzi+, yari kumenya uwu mugore ariko aramukorako uwo ari we be n’ingene ameze, yuko ari umucumuzi+.” 40 Mugabo Yezu amwishura ati: “Simoni, ndafise ico nkubwira.” Na we ati: “Mwigisha, kivuge!”

41 “Abantu babiri bari bafitiye umwenda umuntu yari yarabaguranye; umwe yari afise umwenda w’idenariyo* amajana atanu+, mugabo uwundi akagira umwenda wa mirongo itanu. 42 Aho baburiye ico bishura, arabababarira bompi ata gahigihigi+. None ni nde muri bo azomukunda kuruta?” 43 Simoni yishura ati: “Nibaza ko ari uwo yababariye vyinshi ata gahigihigi.” Amubwira ati: “Uruciye neza.” 44 Aca arahindukira araba nya mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe; nta mazi wampaye+ yo kunyoza ibirenge. Mugabo uyu mugore yatotesheje amosozi yiwe ibirenge vyanje, hanyuma abihanaguza umushatsi wiwe. 45 Ntiwansomye+; mugabo uyu mugore, kuva isaha ninjiriyeko, ntiyaretse gusomagurana ikibabarwe ibirenge vyanje. 46 Ntiwasize umutwe wanje amavuta+; mugabo uyu mugore yasize ibirenge vyanje amavuta amota neza. 47 Kubera ico, ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe, naho ari vyinshi, birababariwe+, kubera ko yagize urukundo rwinshi; mugabo uwubabariwe bike, agira urukundo ruke.” 48 Aca abwira nya mugore ati: “Ibicumuro vyawe birababariwe+.” 49 Abari kumwe na we ku meza baca batangura kwibwira muri bo bati: “Uyu ni nde ababarira mbere n’ibicumuro+?” 50 Mugabo abwira nya mugore ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije+; niwigire amahoro+.”

8 Haciye igihe gitoyi, agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana+. Kandi bamwe cumi na babiri bari kumwe na we, 2 n’abagore bamwe+ bari barakijijwe impwemu mbi be n’indwara: Mariya bita Magadalena, uwo amadayimoni indwi yari yaravuyemwo+, 3 na Yohana+ muka Kuza uwari ajejwe ivyo kwa Herodi, na Suzana be n’abandi bagore benshi babakorera bakoresheje ibintu batunze.

4 Igihe isinzi rinini ryari ryakoraniye hamwe n’abamukurikira bavuye mu bisagara, avuga akoresheje ikigereranyo+ ati: 5 “Umubivyi yarasohotse kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe muri zo zigwa iruhande y’inzira maze barazihonyanga, inyoni zo mu kirere na zo zirazirya+. 6 Izindi zigwa ku gitandara, hanyuma zimaze kumera, ziruma kubera zitagira akabombera+. 7 Izindi zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa vyakuranye arazinyoha+. 8 Izindi zigwa mw’ivu ryiza, hanyuma zimaze kumera zirama incuro ijana+.” Ariko aravuga ivyo bintu, arasemerera ati: “Uwuri n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.”

9 Mugabo abigishwa biwe batangura kumubaza ico ico kigereranyo coba gisobanura+. 10 Avuga ati: “Mwebwe mwarahawe gutegera amabanga meranda y’ubwami bw’Imana, mugabo ku bandi ni mu bigereranyo+, kugira ngo naho baraba, barabire ubusa, kandi naho bumva, ntibatahure insobanuro+. 11 Ehe rero insobanuro y’ico kigereranyo+: Imbuto ni ijambo ry’Imana+. 12 Iz’iruhande y’inzira ni abumvise+, maze Shetani*+ akaza, agakura ijambo mu mitima yabo kugira ngo ntibemere ngo bakizwe+. 13 Izo ku gitandara ni bamwe iyo bumvise iryo jambo baryakirana akanyamuneza, mugabo abo nta muzi bagira; bemera mu gihe gitoyi, mugabo mu gihe c’ukugeragezwa bakagwa+. 14 Nayo izaguye mu mahwa, abo ni abumvise, mugabo, kubera ugutwarwa n’amaganya n’ubutunzi n’ibinezereza+ vy’ubu buzima, bakanyohwa buhere ntihagire ico bashikana ku gutungana+. 15 Nayo izo mw’ivu ryiza, abo ni bamwe iyo bamaze kwumva iryo jambo n’umutima mwiza kandi umeze neza+ baheza bakarigumya, bakama ivyamwa bihanganye+.

16 “Nta n’umwe iyo amaze kudomeka itara aryubikako ikintu canke ngo arishire munsi y’igitanda, ahubwo arishira ku gitereko caryo, kugira abinjira babone umuco+. 17 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe+ kitazokwibonekeza, canke ikintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazokwigera kimenyekana, ngo nticigere kija ahabona+. 18 Nuko rero, mwitwararike ukuntu mwumviriza; kuko uwo wese afise azokwongerwa+, mugabo uwo wese adafise, n’ico yiyumvira ko afise azocakwa+.”

19 Buno nyina wiwe na bene wabo+ baza bamugana, mugabo ntibashobora kumushikira kubera isinzi+. 20 Ariko bamumenyesha bati: “Nyoko wawe na bene wanyu bahagaze hanze bashaka kukubona+.” 21 Abishura ati: “Mawe na bene wacu ni aba bumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro+.”

22 Kuri umwe muri iyo misi, we hamwe n’abigishwa biwe burira ubwato, hanyuma ababwira ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera y’ikiyaga.” Nuko barasoza+. 23 Mugabo bariko baragenda arasinzira. Buno ikirura c’umuyaga gikaze cisuka ku kiyaga, ubwato barimwo butangura kwuzura amazi, baja mu kaga+. 24 Amaherezo baja aho ari baramukangura, bavuga bati: “Mwigisha, Mwigisha, tugira duhone+!” Arikangura, akankamira+ nya muyaga na nya gusuriranya kw’amazi, bica birahwama, haratekana. 25 Maze ababwira ati: “Ukwizera kwanyu kuri hehe?” Mugabo batekerwa n’ubwoba, baratangara, babwirana bati: “None uyu ni nde, ko ategeka n’imiyaga be n’amazi, bikamugamburukira+?”

26 Hanyuma bashika ku nkengera y’ikiyaga mu gihugu c’Abageraseni giherereye ku ruhande rurabana na Galilaya+. 27 Mugabo yururutse i musozi, umugabo umwe avuye mu gisagara yarimwo amadayimoni aza kumusanganira. Kandi yari amaze igihe kitari gito ata mpuzu yambara, ntabe i muhira, ariko akaba hagati mu mva+. 28 Abonye Yezu, avuza induru, yikubita imbere yiwe, hanyuma n’ijwi rirenga avuga ati: “Mpuriye ku ki nawe+, ga Yezu Mwana wa ya Mana Musumbavyose? Ndakwinginze, ntumbabaze+.” 29 (Kuko yari yategetse nya mpwemu ihumanye kuva muri uwo muntu. Kuko yari imaze igihe kirekire imugumije+, kandi kenshi akaboheshwa iminyororo ku maguru no ku maboko bamurinze, mugabo akavutagura nya mvuto hanyuma akajanwa na nya dayimoni mu gahinga.) 30 Yezu amubaza ati: “Witwa nde?” Na we avuga ati: “Legiyoni,” kubera ko amadayimoni menshi yari yaramwinjiyemwo+. 31 Kandi yaguma amwinginga+ ngo ntayategeke kuja mu nyenga+. 32 Ico gihe ubusho bw’ingurube+ nyinshi bwariko burarisha ku musozi; nuko amwinginga ngo ayemerere kwinjira muri zo+. Na we arayemerera. 33 Maze nya madayimoni ava muri wa muntu yinjira muri za ngurube, nya busho na bwo buca bushunguruka imanga bwitera mu kiyaga, burasoma nturi+. 34 Mugabo aho abungere baboneye ibibaye, barahunga, bavyigana mu gisagara no mu gihugu hagati+.

35 Maze abantu baja kuraba ivyari vyabaye, hanyuma baza kuri Yezu basanga wa mugabo amadayimoni yavamwo ari ng’aho, yambaye, aroranye mu muzirikanyi, yicaye imbere y’ibirenge vya Yezu; baca batekerwa n’ubwoba+. 36 Abari babibonye babiganira ingene nya mugabo yari yiziziwe n’amadayimoni yakijijwe+. 37 Nuko abantu indiri bose bavuye mu gihugu kihakikuje c’Abageraseni bamusaba kubaviraho, kubera ko bari batekewe n’ubwoba bwinshi+. Maze yurira ubwato aragenda. 38 Ariko nya mugabo amadayimoni yari yavuyemwo aguma amwinginga ngo agumane na we; mugabo arungika nya mugabo+, ati: 39 “Subira i muhira, ugume wigana ibintu vyose Imana yakugiriye+.” Nuko aragenda, atangaza mu gisagara hose ibintu vyose Yezu yamugiriye+.

40 Yezu agarutse, isinzi rimwakirana ubugwaneza kuko bose bari bamwiteze+. 41 Mugabo, haza umugabo yitwa Yayiro, kandi uwo mugabo yari umukuru ahagarikiye isinagogi. Yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu, atangura kumwinginga ngo yinjire mu nzu iwe+, 42 kubera ko yari afise umukobwa w’ikinege w’imyaka nka cumi n’ibiri, akaba yari hafi gupfa+.

Igihe ariko aragenda, amasinzi aramugunda impande zose+. 43 Maze umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri ava amaraso+, akaba ata muntu n’umwe yari yarashoboye kumukiza+, 44 aregera aturutse inyuma, akora ku buyonga+ bw’impuzu yiwe yo hejuru+, maze ako kanya nyene kwa kuvirirana kwiwe guca kurahagarara+. 45 Nuko Yezu avuga ati: “Ni nde yankozeko+?” Igihe bose bariko barabihakana, Petero avuga ati: “Mwigisha, amasinzi ariko araguhundarako yongera akubanda+.” 46 Yamara Yezu avuga ati: “Hariho umuntu yankozeko, kuko numvise ko hari ububasha+ bwamvuyemwo+.” 47 Nya mugore abonye yuko atabuze kumenyekana, aca araza ajugumira, yikubita hasi imbere yiwe, ahishura imbere y’abantu bose icatumye amukorako n’ingene yaciye akira ako kanya nyene+. 48 Mugabo amubwira ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije+; niwigire amahoro+.”

49 Akiriko aravuga, haza umuntu umwe aserukira umukuru ahagarikiye isinagogi, avuga ati: “Umukobwa wawe yapfuye; ntiwongere kugora umwigisha+.” 50 Yezu avyumvise, amwishura ati: “Ntutinye, nugire ukwizera gusa+, arakira.” 51 Ashitse kuri nya nzu, ntiyareka ngo hagire n’umwe binjirana atari Petero na Yohani na Yakobo hamwe na se na nyina ba nya mukobwa+. 52 Mugabo abantu bose bariko bararira bongera bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu abateye. Nuko avuga ati: “Nimureke kurira+, kuko atapfuye, ahubwo arasinziriye+.” 53 Baca batangura kumutwenga bamushinyagurira, kuko bari bazi yuko yapfuye+. 54 Mugabo amufata ukuboko hanyuma arahamagara, ati: “Mukobwa wanje, haguruka+!” 55 Hanyuma impwemu+ yiwe iragaruka, aca arahaguruka+ ako kanya nyene, aca ategeka ko bamuha ico arya+. 56 Emwe, abavyeyi biwe bagwa mu gahundwe; mugabo abategeka kutagira n’umwe babwira ivyari vyabaye+.

9 Maze akoranya bamwe cumi na babiri, hanyuma abaha ubushobozi n’ububasha ku madayimoni, no kugira ngo bakize indwara+. 2 Nuko abatuma kwamamaza ubwami bw’Imana no gukiza, 3 maze ababwira ati: “Ntimugire ikintu na kimwe mwitwaza ku bw’urugendo, yaba inkoni canke umupfuko w’ibifungurwa, canke umukate canke amafeza; canke ngo mugire impuzu zibiri zo munsi+. 4 Mugabo aho hose mwinjiye mu nzu, muhagume hanyuma muhave+. 5 Kandi aho hose abantu batabakiriye, muvuye muri ico gisagara+ mukunkumure umukungugu ku birenge vyanyu kugira ngo bibe intahe ibagiriza+.” 6 Maze bafata inzira baca muri ako karere bava mu kigwati baja mu kindi, bamenyesha inkuru nziza bongera bakiza indwara ahantu hose+.

7 Buno Herodi umutware w’intara yumva ibintu vyose biriko biraba, arazazanirwa cane kubera bamwe bariko bavuga yuko Yohani yari yazuwe mu bapfuye+, 8 mugabo abandi bakavuga ko Eliya yari yabonetse, mugabo abandi na bo bakavuga ko umwe mu bahanuzi ba kera yari yazutse. 9 Herodi avuga ati: “Yohani naramuciye umutwe+. None uwo numvako ibintu mwene ivyo ni nde?” Nuko arondera+ kumubona.

10 Hanyuma intumwa zigarutse zimwiganira ibintu vyose zakoze+. Aca arazijana, arazihereranya+ mu gisagara citwa Betsayida. 11 Mugabo amasinzi abimenye, aramukurikira. Hanyuma ayakirana ubugwaneza aca atangura kuyabwira ivyerekeye ubwami bw’Imana+, yongera akiza abari bakeneye gukizwa+. 12 Maze umusi utangura kwira. Bamwe cumi na babiri buno baraza, bamubwira bati: “Rungika iryo sinzi kugira ngo rigende mu bigwati no mu gihugu hagati mu micungararo ryironse uburaro rironke n’ibifungurwa, kuko ng’aha turi mu gahinga+.” 13 Mugabo ababwira ati: “Be ari mwebwe mubaha ico barya+.” Bavuga bati: “Nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri+, kiretse kumbure twebwe ubwacu tugiye tukagurira ivyo kurya aba bantu bose+.” 14 Kukaba nkako, bari abagabo nk’ibihumbi bitanu+. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: “Nimubicarike nko mu gihe co gufungura, mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu+.” 15 Babigira kuno, barabicarika bose. 16 Maze atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira hanyuma arabimanyagura, aca atangura kubiha abigishwa ngo babishire imbere ya nya sinzi+. 17 Nuko bose bararya barahaga, hanyuma ibisagutse baravyegeranya, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vy’utumanyu+.

18 Mu nyuma, igihe yariko arasenga ari wenyene, abigishwa bakoranira kuri we, hanyuma arababaza, ati: “Amasinzi avuga ko ndi nde+?” 19 Bishura bati: “Bamwe ngo uri Yohani Umubatizi; mugabo abandi ngo uri Eliya, abandi na bo bakavuga yuko umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+.” 20 Maze ababwira ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde?” Petero yishura+ ati: “Uri Kristu+ w’Imana.” 21 Maze abategeka abihanikiriza kutagira n’umwe babibwira+, 22 mugabo avuga ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, hanyuma akicwa+, maze ku musi ugira gatatu akazurwa+.”

23 Maze abandanya kubwira bose ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke+ atore igiti co kubabarizwako ciwe imisi yose, hanyuma agume ankurikira+. 24 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe azobukiza+. 25 Mu vy’ukuri, umuntu vyomumarira iki yungutse isi yose, mugabo agahomba ubuzima bwiwe canke akamererwa nabi+? 26 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje, Umwana w’umuntu azoterwa isoni n’uyo muntu niyashika mu buninahazwa bwiwe n’ubwa Se n’ubw’abamarayika beranda+. 27 Mugabo ndababwiye ukuri: Hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona ubwami bw’Imana+.”

28 Nkako, imisi nk’umunani inyuma y’ayo majambo, ahitana Petero na Yohani na Yakobo hanyuma aduga ku musozi gusenga+. 29 Igihe yariko arasenga, mu maso hiwe+ hahinduka ukundi, ivyambarwa vyiwe na vyo birererana bica ibibatsi+. 30 Vyongeye, ehe abagabo babiri bariko barayaga na we, bakaba bari Musa na Eliya+. 31 Abo, baboneka bari n’ubuninahazwa hanyuma batangura kuganira ivyerekeye ukugenda kwiwe yabwirizwa gushitsa i Yeruzalemu+. 32 Buno Petero n’abari kumwe na we bari baremerewe n’itiro; mugabo aho bamariye kwikangura koko, babona ubuninahazwa bwiwe+ na ba bagabo babiri bahagararanye na we. 33 Nuko igihe bano bariko baratandukana na we, Petero abwira Yezu ati: “Mwigisha, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya,” mugabo adatahura ivyo yariko aravuga+. 34 Mugabo ariko aravuga ivyo bintu, igicu kirirema hanyuma gitangura kubatwikiriza igitutu. Binjiye muri ico gicu, bagira ubwoba+. 35 Hanyuma ijwi+ riva muri nya gicu, rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje, uwatowe+. Nimumwumvirize+.” 36 Hanyuma iryo jwi ryumvikanye, Yezu aboneka ari wenyene+. Mugabo baguma banumye kandi ntibagira umuntu n’umwe biganira muri iyo misi ikintu na kimwe mu vyo babonye+.

37 Ku musi ukurikira, bamanutse bavuye kuri nya musozi, isinzi rinini riza kumusanganira+. 38 Maze umugabo umwe arasemerera ari muri nya sinzi, ati: “Mwigisha, ndakwinginze undabire umuhungu wanje, kuko ndamufise ari ikinege+, 39 kandi ehe, impwemu+ iramufata, buno nyene agakoma akaruru, hanyuma ikamuhotagura akabimba ifuro, kandi imuvamwo bigoranye imaze kumutera inguma. 40 Nanje ninginze abigishwa bawe ngo bayirukane, mugabo ntibabishoboye+.” 41 Yezu yishura ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera kandi rigoramanze+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Zana umuhungu wawe ng’aha+.” 42 Mugabo n’igihe nyene yariko aregera, nya dayimoni imukubita hasi iramuhotagura bimwe bikaze. Ariko Yezu akankamira nya mpwemu ihumanye hanyuma akiza wa muhungu, maze amushikiriza se wiwe+. 43 Erega, bose bajorezwa n’ububasha bw’agakomeye+ bw’Imana.

Buno igihe bose bariko baratangarira ibintu vyose yariko arakora, abwira abigishwa biwe ati: 44 “Mushire aya majambo mu matwi yanyu, kuko Umwana w’umuntu abwirizwa gutangwa mu maboko y’abantu+.” 45 Mugabo baguma badategera iryo jambo. Nkako, bararihishijwe ngo ntibaritahure, na bo baratinya kumubaza ivy’iryo jambo+.

46 Maze ivyiyumviro bibinjiramwo ku bijanye n’uwobaye mukuru muri bo+. 47 Yezu amenya ivyiyumviro biri mu mitima yabo, afata umwana mutoyi, amushira iruhande yiwe+, 48 hanyuma ababwira ati: “Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi mw’izina ryanje, na jewe aba anyakiriye, kandi uwo wese anyakiriye aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwigenza nk’umuto+ muri mwebwe mwese ari we mukuru+.”

49 Yohani aca asubizayo ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni+ akoresheje izina ryawe, natwe tugerageza kumubuza+, kubera atari kumwe natwe+.” 50 Mugabo Yezu amubwira ati: “Ntimugerageze kumubuza, kuko uwutabarwanya abashigikiye+.”

51 Imisi iri mu gukwira ngo aduganwe+, yerekeza amaso yiwe i Yeruzalemu yiyemeje kujayo. 52 Nuko atuma intumwa ngo zimwitangire imbere. Na zo ziragenda zinjira mu gisagara c’Abasamariya+, kumugirira imyiteguro; 53 mugabo ntibamwakira, kubera ko amaso yiwe yari yerekeje i Yeruzalemu ngo ajeyo+. 54 Abigishwa Yakobo na Yohani+ ngo babibone, bavuga bati: “Mukama, ushaka tubwire umuriro+ umanuke uvuye mw’ijuru ubarigate?” 55 Mugabo arahindukira arabahambarira. 56 Nuko baja mu kindi kigwati.

57 Buno bari mu nzira bagenda, umuntu umwe amubwira ati: “Nzogukurikira iyo uzoja hose+.” 58 Yezu na we amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe+.” 59 Maze abwira uwundi ati: “Nkurikira.” Nya muntu avuga ati: “Ndeka mbanze ngende mpambe dawe+.” 60 Mugabo amubwira ati: “Reka abapfu+ bahambe abapfu babo, mugabo wewe genda umenyekanishe hose ubwami bw’Imana+.” 61 Hanyuma uwundi na we avuga ati: “Ndagukurikira, Mukama; mugabo banza undeke nsezere+ abo mu rugo rwanje.” 62 Yezu amubwira ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa+ araba ibiri inyuma+, abereye ubwami bw’Imana.”

10 Hanyuma y’ivyo, Umukama atora bandi mirongo irindwi+, abatuma babiribabiri+ ngo bamwitangire imbere baje mu gisagara cose n’ahantu hose we ubwiwe yagira ashike. 2 Maze atangura kubabwira ati: “Ivyimburwa+ ni vyinshi koko, mugabo abakozi+ ni bake. Nuko rero nimwinginge+ Umukuru w’iyimbura arungike abakozi+ mw’iyimbura ryiwe. 3 Nimugende. Ehe ndabatumye muri nk’imyagazi y’intama+ mu mabingira. 4 Ntimutware isaho, canke umupfuko w’ibifungurwa+, canke inkweto*, kandi mu nzira ntihagire umuntu n’umwe mugumbira+ mu kumuramutsa. 5 Aho hose mwinjiye mu nzu mubanze muvuge muti: ‘Iyi nzu nigire amahoro+.’ 6 Kandi nimba ng’aho hariho umukunzi w’amahoro, amahoro yanyu azoba kuri we+. Mugabo nimba ata wuhari, azogaruka kuri mwebwe+. 7 Nuko mugume muri iyo nzu+, murya mwongera munywa ivyo batanga+, kuko umukozi akwiriye impembo yiwe+. Ntimuze murimuka muva mu nzu muja mu yindi+.

8 “Vyongeye, aho hose mwinjiye mu gisagara bakabakira, murye ivyo bashize imbere yanyu, 9 kandi mukize+ abarwaye bo muri co, kandi mubandanye kubabwira muti: ‘Ubwami+ bw’Imana burabegereye.’ 10 Mugabo aho hose mwinjiye mu gisagara ntibabakire+, musohoke muje mu mayira yagutse yaco, muvuge muti: 11 ‘Mbere n’umukungugu wo mu gisagara canyu wafashe ku birenge vyacu turawukunkumuye ubabere icagirizi+. Yamara rero, mumenye yuko ubwami bw’Imana bwegereje.’ 12 Ndababwiye yuko kuri wa musi ivy’igihugu ca Sodomu+ bizoba ibigendeka kuruta ivy’ico gisagara.

13 “Uragowe, Korazini+! Uragowe, Betsayida+! kubera yuko iyo ibikorwa vy’ububasha vyabereye muri mwebwe biza kuba vyabereye i Tiro n’i Sidoni, ivyo bisagara biba vyarigaye kera vyicaye mu magunira* no mu minyota+. 14 Ni co gituma mu rubanza ivya Tiro na Sidoni bizoba ibigendeka kuruta ivyanyu+. 15 Nawe Kaperinawumu, woba uzoduzwa gushika kw’ijuru+? Uzomanuka gushika mu kuzimu+!

16 “Uwubumvirije+ na jewe aba anyumvirije. Kandi uwubakengereye na jewe aba ankengereye. Vyongeye, uwunkengereye+ aba akengereye n’uwantumye.”

17 Maze bamwe mirongo irindwi bagarukana akanyamuneza, bavuga bati: “Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira+ dukoresheje izina ryawe.” 18 Aca ababwira ati: “Nabonye Shetani amaze gukoroka+ nk’umuravyo ava mw’ijuru. 19 Ehe ndabahaye ububasha bwo guhonyangira munsi y’ibirenge inzoka+ n’utumina+, be n’ubwo kunesha ububasha bwose bw’umwansi+, kandi nta kintu na kimwe kizogenda kibagiriye nabi. 20 Yamara rero, ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu+ yanditswe mw’ijuru.” 21 Kuri iyo saha nyene abogaboga akanyamuneza+ mu mpwemu nyeranda, avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kubera ko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi+ n’incabwenge uvyitondeye, ukabihishurira inzoya. Egome, Data, kubera ko kubigenza gutyo ari vyo washimye. 22 Ibintu vyose narabihawe+ na Dawe, kandi nta wuzi Umwana uwo ari we, atari Se+; kandi nta wuzi Se uwo ari we atari Umwana+, be n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.”

23 Aca arahindukira araba abigishwa bonyene, avuga ati: “Hahiriwe amaso yitegereza ibintu muriko muritegereza+. 24 Kuko ndabibabwiye: Abahanuzi benshi n’abami benshi baripfuje kubona+ ibintu muriko muritegereza mugabo ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva mugabo ntibavyumva.”

25 Maze umuntu umwe w’umuhanga mu vy’Itegeko+ arahaguruka, kugira ngo amugeze, avuga ati: “Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera+?” 26 Amubwira ati: “Handitswe iki mw’Itegeko+? Usoma gute?” 27 Yishura ati: “ ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’inkomezi zawe zose n’umuzirikanyi wawe wose+,’ na ‘mugenzawe nk’uko wikunda+.’ ” 28 Amubwira ati: “Wishuye neza; ‘guma ukora ivyo, uzoronka ubuzima+.’ ”

29 Mugabo nya muntu ashaka kwiyerekana ko ari umugororotsi, abwira Yezu ati: “None mugenzanje ni nde+?” 30 Yezu yishura ati: “Umuntu umwe yariko amanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko, maze agwa mu bambuzi, bano baramwambura bongera baramukubita baramunoza, hanyuma barigira, bamusiga ari intere. 31 Maze ata wari avyiteze, umuherezi umwe amanukana iyo nzira, mugabo, amubonye, aca hirya arirenganira+. 32 Umulewi na we nyene, ashitse aho hantu akamubona, aca hirya arirenganira+. 33 Mugabo Umusamariya+ umwe yariko ajana iyo nzira ashika aho ari, maze ngo amukubite ijisho, amutera ikigongwe. 34 Nuko aramwegera, atubika ibikomere vyiwe, abisukako amavuta n’umuvinyu+. Maze amwuriza ku gitungwa ciwe bwite, amujana ku ndaro y’abahita, aramubungabunga. 35 Bukeye asokorora idenariyo zibiri, aziha uwuraba iyo ndaro, avuga ati: ‘Mubungabunge, kandi ico uzosohora cose kirenze kuri ibi, nzokikwishura ninagaruka.’ 36 Ni nde muri abo batatu ubona ko yabaye mugenzi+ w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?” 37 Avuga ati: “Ni uwamugiriye ivy’imbabazi+.” Maze Yezu amubwira ati: “Genda uze uragira+ gutyo nawe.”

38 Buno bariko baragenda, yinjira mu kigwati kimwe. Umugore umwe yitwa Marita+ aramwakira mu nzu. 39 Uwo mugore kandi yari afise mwene wabo yitwa Mariya, ariko uno we yicara imbere y’ibirenge+ vy’Umukama, aguma yumviriza ijambo ryiwe. 40 Ariko Marita we yari yasamajwe+ no gukora udukorwa twinshi. Nuko, aregera, avuga ati: “Mukama, nta co bikubwiye kubona mwene wacu yantanye ibikorwa+? Mubwire rero aze amfashe.” 41 Umukama amwishura ati: “Marita, Marita, uriganyira+ kandi ugahagarika umutima ku bintu vyinshi+. 42 Mugabo ibintu bikeyi+ ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Kuko Mariya we yahisemwo umugabane mwiza+, kandi ntazowakwa.”

11 Igihe kimwe yari ahantu hamwe ariko arasenga. Ahagaritse, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: “Mukama, twigishe gusenga+, nk’uko na Yohani yigishije abigishwa biwe+.”

2 Maze ababwira ati: “Igihe cose musenga+, muvuge muti: ‘Data, izina ryawe niryezwe+. Ubwami bwawe nibuze+. 3 Uduhe ibifungurwa*+ vyacu vy’uno musi nk’uko ivyo dukenera ku musi biri. 4 Kandi utubabarire ibicumuro vyacu+, kuko natwe ubwacu tubabarira umuntu wese adufitiye umwenda+; kandi ntutujane mu kigeragezo+.’ ”

5 Ababwira kandi ati: “Ni nde muri mwebwe yogira umugenzi akaja iwe mu gicugu akamubwira ati: ‘Mugenzi, ngurana imikate itatu, 6 kuko umugenzi wanje ahejeje gushika iwanje avuye ku rugendo, nkaba ntagira ico nshira imbere yiwe’? 7 Uno ari imbere mu nzu akamwishura ati: ‘Reka kungora+. Umuryango wamaze kwugarwa, kandi abana banje batoyi bari kumwe nanje mu gitanda; sinshobora kuvyuka ngo nguhe ikintu na kimwe.’ 8 Ndabibabwiye: Naho atazohaguruka ngo amuhe ikintu na kimwe kubera ari umugenzi wiwe, mu vy’ukuri kubera ugukovya n’umutima rugabo kwiwe+, azovyuka amuhe ibintu vyose akeneye. 9 Nuko rero ndabibabwiye: Mugume musaba+, muzohabwa; mugume murondera+, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa. 10 Kuko umuntu wese asaba ahabwa+, kandi umuntu wese arondera aronka, kandi umuntu wese adodora azokwugururirwa. 11 Nkako, ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana wiwe+ amusavye ifi, azomuha kumbure inzoka aho kumuha ifi? 12 Canke kandi amusavye irigi, azomuha akamina? 13 Nimba rero mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu+ ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda+ abayimusaba!”

14 Mu nyuma yariko arirukana idayimoni y’ikiragi+. Nya dayimoni imaze gusohoka, wa muntu w’ikiragi aravuga. Amasinzi aratangara. 15 Mugabo abantu bamwe muri bo bavuga bati: “Yirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli umutware w’amadayimoni+.” 16 Ariko abandi, kugira bamugerageze, batangura kumuronderako ikimenyetso+ kiva mw’ijuru. 17 Amenya ivyiyumviro vyabo+, ababwira ati: “Ubwami bwose bucanyemwo bukirwanya burahona, n’inzu icanyemwo ikirwanya iragwa+. 18 Nimba rero na Shetani yigabuye akirwanya, ubwami bwiwe buzorama gute+? Kuko muvuga yuko nirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli. 19 Nimba nirukana amadayimoni biciye kuri Beyezebuli, abana+ banyu bo bayirukana biciye kuri nde? Ni co gituma bazobabera abacamanza. 20 Mugabo nimba nirukana amadayimoni biciye ku rutoke rw’Imana+, ubwami bw’Imana rero bwabashikiriye+. 21 Igihe umuntu w’inguvu+ kandi afise ibirwanisho bikwiye arinda ikirimba ciwe, ibintu atunze vyigumira mu mahoro. 22 Mugabo mu gihe umuntu amurusha inguvu+ aje kumurwanya akamutsinda+, aratwara ibirwanisho vyiwe vyose yari yizigiye, akagabura ibintu vyose yamunyaze. 23 Uwutari ku ruhande rwanje aba andwanya, kandi uwutegeraniriza hamwe nanje arasanzaza+.

24 “Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahantu hagadutse irondera aho kuruhukira, yahabura ikavuga iti: ‘Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo+.’ 25 Nuko ishitse, isanga ikubuye neza kandi isharije. 26 Maze iragenda igahitana izindi mpwemu indwi+ ziyirusha ububisha, hanyuma zimaze gushika imbere muri nya nzu, zikahaba; maze ivya nyuma vy’uwo muntu bikunyuka kuruta ivya mbere+.”

27 Buno ariko aravuga ivyo bintu, umugore umwe wo muri rya sinzi ashira ijwi hejuru amubwira ati: “Hahiriwe inda+ yagutwaye n’amabere wonse!” 28 Mugabo na we avuga ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya+!”

29 Igihe amasinzi yariko arundanira hamwe, atangura kuvuga ati: “Iri yaruka ni iyaruka ribi; rirondera ikimenyetso+. Mugabo nta kimenyetso rizohabwa atari ca kimenyetso ca Yona+. 30 Kuko nk’uko Yona+ yacitse ikimenyetso ku Banyaninewe, ni ko n’Umwana w’umuntu azoba kuri iri yaruka. 31 Umwamikazi+ wo mu bumanuko azohagurutsanywa n’abagabo b’iri yaruka mu rubanza abatsindishe; kuko yaje ava ku mpera z’isi kugira ngo yumve ubukerebutsi bwa Salomo, mugabo, ehe uwuruta+ Salomo ari ng’aha. 32 Abagabo b’i Ninewe bazovana hasi n’iri yaruka mu rubanza baritsindishe; kuko bigaye aho bumviye ivyo Yona yamamaza+; mugabo, ehe uwuruta+ Yona ari ng’aha. 33 Iyo umuntu amaze kudomeka itara, ntarishira mu nzu yo mu kuzimu canke munsi y’igisimbo co gupimisha, ahubwo arishira ku gitereko caryo+, kugira abinjira babone umuco. 34 Itara ry’umubiri ni ijisho ryawe. Iyo ijisho ryawe riremuruye, umubiri wawe wose na wo nyene urakaka+; mugabo iyo ari ribi, umubiri wawe na wo nyene ucura umwiza. 35 Ba maso rero. Kumbure umuco uri muri wewe ni umwiza+. 36 Nuko rero, nimba umubiri wawe wose wakaka ata na hamwe ucuze umwiza, uzokwakaka wose+ nk’igihe itara rikurasira umuco biciye ku mishwarara yaryo.”

37 Aho amariye kuvuga ivyo, Umufarizayo umwe amusaba gusangira+ na we ibifungurwa vyo ku mutaga. Nuko arinjira, aja ku meza. 38 Ariko nya Mufarizayo atangazwa no kubona atabanje gukaraba+ imbere yo gufungura. 39 Mugabo Umukama amubwira ati: “Erega mwebwe Abafarizayo mwoza inyuma igikombe n’isahani, mugabo imbere+ muri mwebwe huzuye ubusahuzi n’ububisha+. 40 Mwa mburabwenge mwe! None uwaremye inyuma+ si na we yaremye imbere? 41 Yamara rero, bwa mfashanyo y’umworo*+ nimutange ibiri imbere, kandi n’ibindi bintu vyose bizoba bihumanuwe ku biberekeye. 42 Mugabo muragowe mwa Bafarizayo mwe, kubera ko mutanga ic’icumi+ ca menta n’isogi be n’ic’izindi mboga zose, mugabo mugaca ku ruhande ubutungane n’ugukunda Imana! Ivyo bintu mwabwirizwa kubigira, mugabo ivyo bindi ntimuvyiyobagize+. 43 Muragowe mwa Bafarizayo mwe, kubera ko mukunda ivyicaro vy’imbere mu masinagogi n’indamutso mu tuguriro+! 44 Muragowe, kubera ko mumeze nka zirya mva zitibonekeza, ku buryo abantu bazicako ntibabimenye+!”

45 Umwe mu bahanga+ mu vy’Itegeko aca amwishura ati: “Mwigisha, mu kuvuga ivyo bintu natwe uradututse.” 46 Na we aca avuga ati: “Muragowe na mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko muremeka abantu imitwaro igoye itwara, mugabo mwebwe ubwanyu iyo mitwaro ntimuyikozeko intoke+!

47 “Muragowe, kubera ko mwubaka imva z’abahanuzi, mugabo ba sogokuruza banyu ari bo babishe+! 48 Egome, muri ivyabona vy’ibikorwa vya ba sogokuruza banyu yamara mukabishigikira+, kuko abo bishe+ nya bahanuzi mugabo mwebwe mukubaka imva zabo. 49 Ku bw’ivyo ubukerebutsi+ bw’Imana bwaravuze kandi buti: ‘Nzotuma kuri bo abahanuzi n’intumwa, kandi bazokwica bamwe muri bo bongere babahame, 50 kugira ngo amaraso y’abahanuzi bose+ yavishijwe kuva kw’ishingwa ry’isi abazwe iri yaruka+, 51 kuva ku maraso ya Abeli+ gushika ku maraso ya Zekariya+, uwagandaguriwe hagati y’igicaniro na ya nzu+.’ Egome, ndabibabwiye, azobazwa iri yaruka.

52 “Muragowe mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi+; mwebwe ubwanyu ntimwinjiye, kandi n’abinjira mwarababujije+!”

53 Nuko asohotse akava ng’aho, abanditsi n’Abafarizayo batangura kumubanda bimwe biteye ubwoba no kumucucagira ibibazo ku vyerekeye ibindi bintu, 54 bamureretse+, ngo bagire ico bacakira+ kivuye mu kanwa kiwe.

12 Muri ico gihe, isinzi rimaze gukoranira hamwe ari ibihumbi vyinshi cane gushika aho basigara bahonyangana, ahera ku bigishwa biwe, avuga ati: “Mwiyubare umwambiro+ w’Abafarizayo, ari bwo bwiyorobetsi+. 2 Mugabo nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazohishurwa, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana+. 3 Ni co gituma ibintu vyose muvugira mu mwiza bizokwumvikanira mu muco, n’ivyo muvugira mu bwongoshwe mu vyumba vyiherereye bizokwamamarizwa hejuru ku mazu+. 4 Vyongeye ndabibabwiye, bagenzi+: Ntimutinye abica umubiri, inyuma y’ivyo ntibashobore kugira ikindi kintu na kimwe+. 5 Mugabo ndabarangira uwo gutinya: Mutinye umwe+ iyo ahejeje kwica afise ububasha bwo guta muri Gehena*+. Egome, ndabibabwiye, Uwo abe ari we mutinya+. 6 None utujuri dutanu ntitugurishwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi? Yamara nta na kamwe muri two kibagirwa imbere y’Imana+. 7 Mugabo n’imishatsi+ yo ku mitwe yanyu iraharuwe yose. Ntimutinye; mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi+.

8 “Ndabibabwiye rero: Umuntu wese yemera icese+ imbere y’abantu yuko yunze ubumwe nanje, Umwana w’umuntu na we azokwemera icese imbere y’abamarayika b’Imana yuko yunze ubumwe na we+. 9 Mugabo uwunyihakana+ imbere y’abantu azokwihakanwa imbere y’abamarayika b’Imana+. 10 Umuntu wese avuga ijambo ribi ku Mwana w’umuntu, azobibabarirwa; ariko uwurogota ku mpwemu nyeranda ntazobibabarirwa+. 11 Mugabo nibabajana imbere y’amakoraniro y’abantu n’imbere y’abakozi b’intwaro n’imbere y’abategetsi, ntimuze mwiganyire ku kuntu muzokwiregura no ku vyo muzokwireguza canke ku vyo muzovuga+; 12 kuko impwemu nyeranda+ izobigisha kuri iyo saha nyene ivyo mubwirizwa kuvuga+.”

13 Maze umuntu umwe wo muri nya sinzi amubwira ati: “Mwigisha, bwira mwene wacu tugabure intoranwa.” 14 Amubwira ati: “Wa muntu we, ni nde yanshinze kubabera umucamanza+ canke umugabuzi?” 15 Maze ababwira ati: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina+, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze+.” 16 Kuri ivyo aca atanga ikigereranyo, ati: “Itongo ry’umuntu umwe w’umutunzi ryarimbutse neza. 17 Aca atangura rero kwiyumvira muri we ati: ‘Nkore iki none, ubu ntafise aho ndi bwegeranirize ivyimburwa vyanje?’ 18 Nuko avuga ati: ‘Ndabigenza ntya+: Ndasambura ibigega vyanje nubake binini kuruta, abe ari ho negeraniriza intete zanje zose be n’ibintu vyiza vyanje vyose+; 19 hanyuma nzobwira+ umutima wanje nti: “Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe+.” ’ 20 Mugabo Imana imubwira iti: ‘Wa kijuju we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe+. None ibintu warunze bizoba ivya nde+?’ 21 Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi, mugabo atari umutunzi ku Mana+.”

22 Maze abwira abigishwa biwe ati: “Ku bw’ivyo ndababwiye nti: Mureke kuganyira ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke imibiri yanyu ku vyo muzokwambara+. 23 Kuko ubuzima buri n’agaciro kuruta ibifungurwa, n’umubiri ukagira agaciro kuruta ivyambarwa. 24 Nimwitegereze neza ibikona+: ntibibiba imbuto canke ngo bishwabure, kandi ntibigira inzu y’ubushinguro canke ikigega, yamara Imana irabigaburira. None mwebwe murusha agaciro inyoni ukungana iki+? 25 Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera itambwe* ku kiringo c’ubuzima bwiwe+? 26 Nimba rero mudashobora gukora akantu gatoyi ko hanyuma y’utundi, kubera iki mwokwiganyira+ ku bindi bintu? 27 Nimwitegereze neza ingene amashurwe y’amalisi akura+; ntiyirirwa aracumukura canke ngo ajishe; mugabo ndabibabwiye: Na Salomo ari Salomo mu buninahazwa bwiwe bwose ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo+. 28 Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’itongo biriho uno musi ejo bigatererwa mu ziko, ese ingene izorushiriza kubambika, mwebwe ab’ukwizera guke+! 29 Nuko nimureke kurondera ivyo mworya n’ivyo mwonywa, kandi mureke kwamiza umutima mu kirere mwiganyira+; 30 kuko ivyo vyose ari vyo amahanga y’isi ahahamira, mugabo So arazi ko ivyo bintu mubikenera+. 31 Yamara rero, mubandanye kurondera ubwami bwiwe, ivyo bintu na vyo muzovyongerwa+.

32 “Ntimutinye+, mwa busho buto+, kuko So yashimye kubaha ubwami+. 33 Nimugurishe+ ibintu vyanyu, mufashe aboro+. Mwigirire amasaho adashira, ubutunzi butigera buhera mw’ijuru+, aho igisuma kitegera canke ngo udukoko dukegete. 34 Kuko aho itunga ryanyu riri, ni ho n’imitima yanyu izoba+.

35 “Nimukenyere mu mafyinga+, n’amatara+ yanyu agume yaka, 36 kandi ubwanyu mumere nk’abantu barindiriye shebuja+ wabo niyagaruka avuye ku bugeni+, ku buryo ashitse akadodora+ baca bamwugururira buno nyene. 37 Hahiriwe abo bashumba shebuja niyashika azosanga bari maso+! Ni ukuri ndabibabwiye: Azokenyera+ abicarike ku meza, aze abakorere+. 38 Kandi niyashika mw’iterama rigira kabiri*, mbere naho hoba mu rigira gatatu*, akabasanga bameze gutyo, bazoba bahiriwe+! 39 Mugabo mumenye iki kintu: iyaba nyen’urugo yari azi isaha igisuma coziriyeko, yogumye ari maso ntareke ngo inzu yiwe imenwe+. 40 Na mwebwe nyene, mugume mwiteguye, kubera ko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira+.”

41 Maze Petero avuga ati: “Mukama, ico kigereranyo ukibwiye twebwe canke ukibwiye n’abandi bose?” 42 Umukama na we avuga ati: “None ni nde mubwiriza w’umwizigirwa+, w’ubwenge+, uwo shebuja azoshinga umugwi w’abasuku biwe ngo agume abaha ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye+? 43 Hahiriwe uwo mushumba, shebuja niyashika azosanga ariko akora gutyo+! 44 Ndababwiye ukuri: Azomuzeza ivyo atunze vyose+. 45 Mugabo hamwe uwo mushumba yokwibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja aratevye kuza+,’ hanyuma agatangura gukubita abasuku n’abasukukazi, no kurya no kunywa no kuborerwa+, 46 shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no kw’isaha atazi+, kandi azomuhana bimwe vya ruhasha*, amusangize umugabane n’ibihemu+. 47 Maze uwo mushumba yatahuye ukugomba kwa shebuja mugabo ntiyitegure canke ngo akore ukugomba kwiwe azokubitwa inkoni+ nyinshi. 48 Ariko uwutategereye+ bigatuma akora ibikwiriye inkoni, azokubitwa nkeyi+. Nkako, uwahawe vyinshi wese, azokwakwa vyinshi+; kandi uwo bajeje vyinshi, bazomwaka ibirenze ibisanzwe+.

49 “Naje kudomeka umuriro+ kw’isi; kandi ikindi noshaka ni igiki nimba umaze kwaka? 50 Koko, ndafise ibatisimu mbwirizwa kubatizwa, kandi ese ingene ndiko ndacumukuzwa gushika irangiye+! 51 Mbega mwiyumvira ko naje gushira amahoro kw’isi? Oya namba, ndabibabwiye, ahubwo nyabuna nazanye ugucanamwo+. 52 Kuko kuva ubu batanu mu nzu imwe bazocanamwo, batatu barwanye babiri, babiri na bo barwanye batatu+. 53 Bazocanamwo, se arwanye umuhungu n’umuhungu arwanye se, nyina arwanye umukobwa n’umukobwa arwanye nyina, inabukwe arwanye umukazana n’umukazana arwanye inabukwe+.”

54 Maze abandanya kubwira amasinzi na yo ati: “Iyo mubonye igicu gihagurutse mu burengero, muca muvuga muti: ‘Ikirura kiraje,’ kandi ni ko bimera+. 55 Kandi iyo mubonye yuko umuyaga wo mu bumanuko uriko urahuhuta, muravuga muti: ‘Haraza kuba umupfunda w’ubushuhe,’ kandi biraba. 56 Mwa biyorobetsi mwe, murazi gusuzuma ibiboneka inyuma kw’isi no kw’ijuru, mugabo bishoboka bite ngo ntimumenye gusuzuma iki gihe+? 57 Kubera iki mutanaraba mwebwe ubwanyu ngo mumenye ikigororotse ico ari co+? 58 Nk’akarorero, igihe ujanye ku mutware n’uwo muburana, tangura kwitatura na we mukiri mu nzira, kugira ngo ntahave akujana imbere y’umucamanza, umucamanza akaguhereza umupolisi wa sentare, umupolisi wa sentare na we akaguta mw’ibohero+. 59 Ndabikubwiye: Ntuzogenda uhavuye utarishe n’agaceri ka nyuma k’agaciro gatoyi cane+.”

13 Muri ico kiringo nyene, hari abari ng’aho bamwiganiye ivy’Abanyagalilaya+, abo Pilato yari yavanze amaraso yabo n’ibimazi vyabo. 2 Nuko abishura ati: “Mbega mwiyumvira yuko abo Banyagalilaya bari abacumuzi+ babi kuruta abandi Banyagalilaya bose, kubera ko bashikiwe n’ivyo bintu? 3 Oya namba, ndabibabwiye; mugabo mutigaye, muzorandurwa mwese nk’ukwo nyene+. 4 Canke bamwe cumi n’umunani umunara wagwako i Silowamu ukabica, mwiyumvira yuko bari bafise umwenda kuruta abandi bantu bose baba i Yeruzalemu? 5 Oya namba ndabibabwiye; mugabo mutigaye, muzorandurwa mwese nk’ukwo nyene+.”

6 Maze abandanya kubaha iki kigereranyo: “Umuntu umwe yari afise igiti c’umusukoni gitewe mu murima wiwe w’imizabibu+, hanyuma aza kukironderako ivyamwa+, mugabo ntiyaronka namba+. 7 Maze abwira umukozi wo mu murima w’imizabibu ati: ‘Raba imyaka itatu+ iraheze nza kurondera ivyamwa kuri iki giti c’umusukoni, mugabo sinaronse namba. Cicire+! Kubera iki none cobandanya gupfisha ivu ubusa?’ 8 Amwishura ati: ‘Databuja, kireke+ n’uyu mwaka, gushika nimvye iruhande yaco ngashiraho intabire; 9 maze nicama muri kazoza, bizoba ari vyiza; mugabo nikitama, uze ucicire+.’ ”

10 Ikindi gihe yariko arigisha muri imwe mu masinagogi kw’isabato. 11 Maze haboneka umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani arimwo impwemu+ y’ubugoyagoye, kandi yari ahetamye nk’uwavunitsemwo kubiri akaba atashobora na gato guhagarara agororotse. 12 Yezu amubonye, aramuvugisha, amubwira ati: “Mugore, urabohowe+ ubugoyagoye bwawe.” 13 Araheza amurambikako ibiganza; ako kanya nyene aca aragororoka+, atangura kuninahaza Imana. 14 Mugabo umukuru ahagarikiye isinagogi ashavuzwa n’uko Yezu akijije kw’isabato, aca atangura kubwira isinzi ati: “Hari imisi itandatu ibwirizwa gukorwako ibikorwa+; kuri iyo misi rero abe ari ho muza, mukizwe, atari ku musi w’isabato+.” 15 Ariko Umukama aramwishura ati: “Mwa biyorobetsi+ mwe, mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura ishūri yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mazi+? 16 None ntivyari bikwiriye ko uyu mugore, umukobwa wa Aburahamu+, uwo Shetani yamaze imyaka cumi n’umunani yose aboshe, abohorwa izo mvuto ku musi w’isabato?” 17 Nuko, avuze ivyo bintu, abamurwanya bose batangura kumaramara+; mugabo isinzi ryose ritangura kunezerezwa n’ibintu vyose vy’ubuninahazwa akoze+.

18 Nuko rero abandanya kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana bumeze nk’iki, kandi ndabugereranye n’iki+? 19 Bumeze nk’agatete ka sinapi umuntu yatoye akagashira mu murima wiwe, hanyuma kagakura kagacika igiti, inyoni zo mu kirere+ na zo zikibera mu mashami yaco+.”

20 Yongera kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana ndabugereranye n’iki? 21 Bumeze nk’umwambiro umugore yatoye akawunyegeza mu ngero* nininini zitatu z’ifu gushika igikandu cose gitutumvye+.”

22 Hanyuma agira urugendo ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yigisha yongera abandanya urugendo rwiwe aja i Yeruzalemu+. 23 Umuntu umwe amubwira ati: “Mukama, burya abantu bakizwa ni bake+?” Ababwira ati: 24 “Nimwihate+ rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga+, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora+, 25 nyen’urugo niyamara guhaguruka akugara umuryango, namwe mugatangura guhagarara hanze no kudodora ku muryango, muvuga muti: ‘Mutungwa, twugururire+.’ Mugabo azobishura ati: ‘Sinzi iyo muva+.’ 26 Maze muzotangura kuvuga muti: ‘Twarira imbere yawe tukanywera imbere yawe, kandi wigishiriza mu mayira yagutse yacu+.’ 27 Mugabo azobabwira ati: ‘Sinzi iyo muva. Mve mu maso, mwebwe mwese abakora ibitagororotse+!’ 28 Aho ni ho hazoba ukurira kwanyu n’uguhekenya amenyo+, nimwabona Aburahamu na Izahaki na Yakobo be n’abahanuzi bose mu bwami bw’Imana+, mugabo mwebwe ubwanyu mwatawe hanze. 29 Ikigeretseko, abantu bazoza bavuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko+, bicare ku meza mu bwami bw’Imana+. 30 Kandi ehe, hari aba nyuma bazoba aba mbere, hakaba n’aba mbere bazoba aba nyuma+.”

31 Kuri iyo saha nyene Abafarizayo bamwe baraza, bamubwira bati: “Sohoka ugende uve ng’aha, kuko Herodi ashaka kukwica.” 32 Na we ababwira ati: “Gende mubwire iyo mbwebwe+ muti: ‘Ehe ndirukana amadayimoni ngakiza uno musi n’ejo, kandi ku musi ugira gatatu nzoba ndangije+.’ 33 Yamara rero, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo n’umusi ukurikira, kubera ko bitemerwa ko umuhanuzi yicirwa inyuma ya Yeruzalemu+. 34 Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica+ abahanuzi ugatera amabuye+ abagutumweko—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe nka kumwe inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo+, ariko ntimwabishaka+! 35 Ehe inzu yanyu+ murayitanywe. Ndabibabwiye: Ntimuzogenda mumbonye gushika muvuze muti: ‘Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+!’ ”

14 Hanyuma umusi umwe, igihe yari yinjiye mu nzu y’umwe mu batware b’Abafarizayo kw’isabato gufungura+, bariko bamwitegereza bitonze+. 2 Kandi ehe, imbere yiwe hari umuntu arwaye urusina. 3 Nuko Yezu aca abwira abahanga mu vy’Itegeko n’Abafarizayo, ati: “Mbega kw’isabato vyoba vyemewe gukiza canke ntivyemewe+?” 4 Mugabo baguma bacereje. Aca afata nya muntu, aramukiza, aca aramurungika. 5 Hanyuma ababwira ati: “Ni nde muri mwebwe hamwe umwana wiwe canke ishūri yiwe yogwa mw’iriba+, atoca buno nyene abikurayo ku musi w’isabato+?” 6 Na bo ntibashobora kugira ico bishura+.

7 Maze abandanya guha ikigereranyo abatumire, kuko yari abonye ingene bariko bitorera ibibanza biboneka kuruta ibindi, ababwira+ ati: 8 “Iyo utumiwe n’umuntu ku nzimano y’ubugeni, ntiwicare mu kibanza kiboneka kuruta ibindi+. Kumbure muri ico gihe ashobora kuba yatumiye umuntu akurusha icubahiro, 9 hanyuma uwabatumiye mwempi akaza akakubwira ati: ‘Bisa uyu muntu muri ico kibanza.’ Maze uzoca ugenda n’ibimaramare n’akantu kwicara mu kibanza co hanyuma y’ibindi+. 10 Mugabo iyo utumiwe, genda wicare mu kibanza co hanyuma y’ibindi+, kugira ngo uwagutumiye niyaza akubwire ati: ‘Mugenzi, duga haruguru.’ Maze uzogira iteka imbere y’abashitsi bagenzawe bose+. 11 Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru+.”

12 Hanyuma abwira n’uwari yamutumiye ati: “Iyo uteretse imfungurwa zo ku mutaga canke imfungurwa zo ku mugoroba, ntuhamagare abagenzi bawe canke bene wanyu canke incuti zawe canke ababanyi batunze. Kumbure hogira igihe na bo nyene bagutumira, kukaba ari ukukwishura. 13 Mugabo iyo uteretse inzimano, nutumire aboro, abacitse ibihimba vy’umubiri, abacumbagira, impumyi+; 14 uzoba uhiriwe, kuko batagira ikintu na kimwe co kukwishura. Kuko uzokwishurwa mw’izuka+ ry’abagororotsi.”

15 Umwe mu bandi batumire yumvise ivyo bintu, amubwira ati: “Hahiriwe uwurya umukate mu bwami bw’Imana+.”

16 Yezu amubwira ati: “Umuntu umwe yari yateretse imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba, atumira benshi+. 17 Hanyuma atuma umushumba wiwe kw’isaha ya nya mfungurwa ngo abwire abatumire ati: ‘Nimuze+, kuko ibintu ubu biteguye.’ 18 Mugabo batangura kuzana ivyitwazo bose cokimwe+. Uwa mbere amubwira ati: ‘Naguze itongo nkaba nkeneye kuja kuriraba; ndagusavye untunge+.’ 19 Uwundi avuga ati: ‘Naguze inka cumi* none ngiye kuzisuzuma; ndagusavye untunge+.’ 20 Uwundi na we avuga ati: ‘Mperutse kuzana+ umugore, ni co gituma ntashobora kuza.’ 21 Nuko nya mushumba araza yiganira ivyo bintu shebuja. Maze nyen’urugo araraka aca abwira umushumba wiwe ati: ‘Genda ningoga mu mayira yagutse no mu tuyira two mu gisagara, uzane hano aboro n’abacitse ibihimba vy’umubiri n’impumyi n’abacumbagira+.’ 22 Mu nyuma wa mushumba avuga ati: ‘Databuja, ico wategetse cakozwe, yamara haracariho ikibanza.’ 23 Shebuja abwira nya mushumba ati: ‘Genda mu mayira+ no mu bibanza bizitiye, ubagobere binjire, kugira ngo inzu yanje yuzure+. 24 Kuko, ndabibabwiye: Nta n’umwe muri abo bantu bari batumiwe ari buhonje ku mfungurwa zanje zo ku mugoroba+.’ ”

25 Buno amasinzi menshi yari afatanije na we urugendo, hanyuma arahindukira ababwira ati: 26 “Nimba umuntu aje kuri jewe mugabo ntiyanke se na nyina n’umugore wiwe n’abana biwe na bene wabo na bashikiwe, emwe, mbere n’ubuzima bwiwe bwite+, ntashobora kuba umwigishwa wanje+. 27 Uwo wese atikorera igiti co kubabarizwako ciwe ngo ankurikire ntashobora kuba umwigishwa wanje+. 28 Nk’akarorero, ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka+, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza? 29 Ahandiho, yoshobora gusasa umushinge wawo mugabo ntashobore kurangiza nya munara, ababibona bose bagatangura kumushinyagurira, 30 bavuga bati: ‘Uwu muntu yaratanguye kwubaka mugabo ntiyashoboye kurangiza.’ 31 Canke ni umwami nyabaki, agiye guhura n’uwundi mwami mu ntambara, atabanza kwicara akaja inama akaraba ko akoresheje abasirikare ibihumbi cumi, ashoboye guhangana n’uwuje kumurwanya afise ibihumbi mirongo ibiri+? 32 Nimba vy’ukuri atabishoboye, igihe rero uwo wundi akiri kure cane, aratuma umugwi w’abamuserukira, akamusaba amahoro+. 33 Ni ko bimeze rero, uwo wese muri mwebwe adasezeye ivyo atunze vyose+ ntashobora kuba umwigishwa wanje.

34 “Nkako, umunyu ni mwiza. Mugabo nimba n’umunyu utakaje ubukomezi bwawo, uzorungwa iki+? 35 Nta co uba ukimaze, haba kw’ivu canke ku ntabire. Bawuta hanze. Uwuri n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.”

15 Ico gihe abatozakori bose+ n’abacumuzi+ baguma bamwegera kugira ngo bamwumve. 2 Ku bw’ivyo, Abafarizayo n’abanditsi baguma bavugira mu ntamatama, bati: “Uyu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo+.” 3 Maze abaha iki kigereranyo, ati: 4 “Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, atakaje imwe muri zo, atazosiga zimwe mirongo icenda n’icenda mu gahinga akaja kurondera iyatakaye gushika ayitoye+? 5 Kandi ayitoye, ayishira ku bitugu vyiwe, akanezerwa+. 6 Maze ashitse i muhira, akoranya abagenzi biwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye+.’ 7 Ndababwiye yuko ukwo ari ko hazoba akanyamuneza kenshi mw’ijuru ku mucumuzi umwe yigaye+, kuruta ku bagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye ukwigaya+.

8 “Canke ni nde mugore afise ibiceri cumi vy’idarakima*, atakaje igiceri kimwe, atadomeka itara agakubura inzu yiwe akarondera avyitondeye gushika agitoye? 9 Kandi agitoye, ahamagara ababanyi n’abagenzi akabakoranya, akavuga ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye igiceri c’idarakima nari natakaje.’ 10 Ndabibabwiye, ukwo ni ko haba akanyamuneza mu bamarayika b’Imana ku mucumuzi umwe yigaye+.”

11 Maze avuga ati: “Umugabo umwe yari afise abahungu babiri+. 12 Umutoyi muri bo abwira se wiwe ati: ‘Da, mpa umugabane w’ibintu binyegukira+.’ Maze abagaburira uburyo bwo kubaho+ afise. 13 Mu nyuma, haciye imisi itari myinshi, wa muhungu mutoyi akoraniriza hamwe ibintu vyose, afata urugendo aja mu gihugu ca kure, asesagurirayo ibintu vyiwe mu kubaho mu buhumbu+. 14 Abimaze vyose, ikigoyi gikaze kiratera muri ico gihugu, atangura gukena. 15 Yarahevye mbere aja kwihoma kuri umwe mu bantu bo muri ico gihugu, na we amurungika mu matongo yiwe kuragira ingurube+. 16 Kandi yari asigaye yipfuza guhazwa n’ibishishwa ingurube zarya, hakabura n’umwe amuha na dukeyi+.

17 “Agarukanye ubwenge, avuga ati: ‘Ni abacangero bangahe ba dawe bisenena umukate, nanje ndiko ndicirwa ng’aha na kigoyi! 18 Ngira mpaguruke mfate urugendo+ nje kwa dawe ndamubwire nti: “Da, naracumuye ku Mana* no kuri wewe+. 19 Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe. Nungire nk’umwe mu bacangero bawe.” ’ 20 Nuko arahaguruka aja kwa se. Akiri kure, se wiwe amukubita ijisho aca aterwa n’ikigongwe, arirukanga amugwa mw’izosi, amusomagurana ikibabarwe. 21 Maze nya muhungu amubwira ati: ‘Da, naracumuye ku Mana no kuri wewe+. Sinkibereye kwitwa umuhungu wawe. Nungire nk’umwe mu bacangero bawe+.’ 22 Mugabo se abwira abashumba biwe ati: ‘Nyarutsa muzane ikanzu, nziza kuruta izindi zose, muyimwambike+, mumushire n’impeta+ ku kuboko, n’inkweto ku birenge. 23 Kandi nimuzane ca kimasa cadoheshejwe+, mukibage, turye, turyoherwe, 24 kuko uyu muhungu wanje yari yarapfuye none yongeye kuba muzima+; yari yaratakaye none yabonetse.’ Baca batangura kuryoherwa.

25 “Ico gihe umuhungu wiwe mukuru+ yari mw’itongo; ariko araza akegereza inzu, yumva igiteramo c’umuziki n’intambo. 26 Aca ahamagara umwe mu basuku, amubaza ivyo ari vyo. 27 Amubwira ati: ‘Mwene wanyu+ yaje, kandi so+ wawe yabaze ca kimasa cadoheshejwe, kuko yongeye kumubona agarutse, afise amagara meza.’ 28 Mugabo araraka, yanka kwinjira. Maze se wiwe arasohoka atangura kumwinginga+. 29 Yishura se wiwe ati: ‘Raba imyaka myinshi cane iheze ngushumbira, kandi sinigeze na rimwe ndenga ibwirizwa ryawe, yamara jewe ntiwigeze na rimwe umpa n’akagazi k’impene ngo ndyoherwe hamwe n’abagenzi banje+. 30 Mugabo uyo muhungu wawe+ yamariye mu bamaraya+ uburyo ufise bwo kubaho, yabaye agishika uca umubagira ca kimasa cadoheshejwe+.’ 31 Maze amubwira ati: ‘Mwananje, wewe wamanye nanje, kandi ivyanje vyose ni rwawe+; 32 mugabo ntitwari kubura kuryoherwa no kunezerwa, kuko uyo mwene wanyu yari yarapfuye none yabaye muzima, kandi yari yaratakaye none yabonetse+.’ ”

16 Maze abandanya kubwira abigishwa na bo ati: “Umuntu umwe yari umutunzi akaba yari afise umubwiriza+, hanyuma uno baramumuregako yuko amusesagurira ibintu+. 2 Nuko aramuhamagara, amubwira ati: ‘Ivyo numva kuri wewe ni ibiki? Zana raporo+ y’ububwiriza bwawe, kuko utagishoboye guhagarikira inzu.’ 3 Maze wa mubwiriza yibwira ati: ‘Ndabigenze nte, ko databuja+ agira anyake ububwiriza? Nta nguvu mfise zo kwimba, kandi gusega vyontera isoni. 4 Ahaa! Ndazi ico ngiye kugira, kugira ngo ninakurwa mu bubwiriza, abantu bazonyakire mu mazu iwabo+.’ 5 Nuko ahamagara umwe wese mu bafitiye umwenda shebuja, abwira uwa mbere ati: ‘Burya databuja umufitiye ibingana iki?’ 6 Avuga ati: ‘Ingero ijana za bati* z’amavuta y’umwelayo.’ Amubwira ati: ‘Tora icete c’amasezerano cawe, wicare, wandike mirongo itanu ningoga.’ 7 Hanyuma abwira uwundi ati: ‘Weho umufitiye ibingana iki?’ Avuga ati: ‘Ingero ijana za koro* z’ingano.’ Amubwira ati: ‘Tora icete c’amasezerano cawe, wandike mirongo umunani.’ 8 Kandi shebuja yarakeje nya mubwiriza, naho atari agororotse, kubera yakoranye ubukerebutsi ngirakamaro+; kuko abana b’iki gihe* ari inkerebutsi mu buryo ngirakamaro kw’iyaruka ryabo bwite kuruta abana b’umuco+.

9 “Vyongeye, ndabibabwiye: Mwironderere abagenzi+ biciye ku butunzi butagororotse+, kugira ngo nibwahera, bazobakire mu ngo zidahera+. 10 Umuntu w’umwizigirwa muri bitoyi aba umwizigirwa no muri vyinshi, kandi umuntu atagororoka muri bitoyi aba uwutagororoka no muri vyinshi+. 11 Nuko rero, nimba mutabaye abizigirwa mu bijanye n’ubutunzi butagororotse, ni nde azobazeza ubw’ukuri+? 12 Kandi nimba mutabaye abizigirwa mu vy’uwundi+, ni nde azobaha ivyanyu? 13 Nta mukozi wo mu nzu ashobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe agakunda uwundi, canke azokwumira kuri umwe agasuzugura uwundi. Ntimushobora kuba abashumba b’Imana n’ab’Ubutunzi+.”

14 Ico gihe Abafarizayo, abari inkunzi z’amahera, bariko barumviriza ivyo vyose, hanyuma batangura kumushinyira+. 15 Ku bw’ivyo, ababwira ati: “Mwebwe muriyita abagororotsi imbere y’abantu+, mugabo Imana irazi imitima yanyu+; kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana+.

16 “Itegeko n’Abahanuzi vyabayeho gushika kuri Yohani+. Guhera ico gihe, ubwami bw’Imana buramenyeshwa bwa nkuru nziza, kandi abantu b’uburyo bwose barabandana ngo babushikire+. 17 Vy’ukuri, icoroshe ni uko ijuru n’isi bivaho+ hako hagira akavunji+ k’urudome na kamwe ko mw’Itegeko kagenda katarangutse+.

18 “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwurongoye umugore yirukanywe n’umugabo, aba arenze ibigo+.

19 “Mugabo umuntu umwe+ yari umutunzi, akambara impuzu z’ibara ry’umuyugubwe n’iz’ilino, ku musi ku musi akama aryohererwa ibintu vy’agatangaza+. 20 Mugabo umusezi umwe yitwa Lazaro yahora ashirwa kw’irembo ryiwe, yuzuye ibisebe, 21 akipfuza guhazwa n’ibikoroka biva ku meza ya nya mutunzi. Emwe, n’imbwa zaraza zikarigata ibisebe vyiwe. 22 Mu nyuma wa musezi yarapfuye+, ajanwa n’abamarayika mu gikiriza+ ca Aburahamu+.

“Na nya mutunzi nyene arapfa+, arahambwa. 23 Hanyuma ari mu kuzimu araramura amaso, ari mu mibabaro+, maze abona Aburahamu kure na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. 24 Nuko arahamagara ati: ‘Data Aburahamu+, ngirira imbabazi urungike Lazaro akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ahoze ururimi rwanje+, kubera ko ndi mu mubabaro mwinshi muri uyu muriro uyingana+.’ 25 Mugabo Aburahamu avuga ati: ‘Mwananje, ibuka yuko waronse ivyiza vyawe vyose mu buzima bwawe, mugabo Lazaro na we akaronka ibibi. Yamara ubu ariko arahorezwa ng’aha mugabo nawe uri mu mubabaro mwinshi+. 26 Kandi uretse n’ivyo vyose, imanga nini+ yarashinzwe hagati yacu namwe+, ku buryo abashaka kuva hano ngo baze iyo muri batabishobora, eka mbere nta n’aboshobora kuva hiyo ngo baze aha turi+.’ 27 Maze avuga ati: ‘Ari ukwo biri rero, ndagusavye se data, umurungike ku nzu ya dawe, 28 kuko mfise bene wacu batanu, kugira ngo ashinge intahe inogangije kuri bo, ngo na bo ntibaze baze aha hantu h’umubabaro’. 29 Mugabo Aburahamu avuga ati: ‘Barafise Musa+ n’Abahanuzi+; nibabumvirize+.’ 30 Maze avuga ati: ‘Oya namba, data Aburahamu, ahubwo hagize uwo mu bapfuye aja kuri bo bazokwigaya.’ 31 Mugabo amubwira ati: ‘Nimba batumviriza Musa+ n’Abahanuzi, ntibazogenda banyuzwe niyo hogira uwuzuka mu bapfuye.’ ”

17 Maze abwira abigishwa biwe ati: “Ibitsitaza ntibishobora kureka kuza+. Yamara rero, aragowe umuntu bizananako+! 2 Yopfuma aboherwa urusyo mw’izosi agatererwa mu kiyaga+, hako atsitaza umwe muri aba batoyi+. 3 Mwiyubare. Mwene wanyu niyacumura umuhambarire+, niyigaya umubabarire+. 4 Mbere naho yogucumurako incuro indwi ku musi akagaruka kuri wewe incuro indwi, akavuga ati: ‘Ndigaye,’ utegerezwa kumubabarira+.”

5 Intumwa zibwira Umukama ziti: “Twongerereze ukwizera+.” 6 Maze Umukama avuga ati: “Hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu mukere wirabura muti: ‘Randuka uterwe mu kiyaga!’ kandi wobagamburukira+.

7 “Ni nde muri mwebwe afise umushumba arima canke aragira umukuku azomubwira yinjiye avuye mw’itongo ati: ‘Ingo ningoga uje ku meza’? 8 Ntazomubwira riho ati: ‘Ntegurira ikintu mfungure imfungurwa zanje zo ku mugoroba, wambare itabuliya, unkorere gushika mpejeje kurya no kunywa, mu nyuma nawe ubone kurya no kunywa’? 9 None azoshimira uwo mushumba kubera ko yakoze ivyo yashinzwe? 10 Na mwebwe rero, igihe mukoze ibintu vyose mwashinzwe, muvuge muti: ‘Turi abashumba b’imburakimazi+. Ivyo dukoze ni ivyo twabwirizwa gukora.’ ”

11 Nuko ariko araja i Yeruzalemu, aca hagati i Samariya n’i Galilaya+. 12 Maze ariko arinjira mu kigwati kimwe, abanyamibembe+ cumi baramusanganira, mugabo bahagarara kure. 13 Baca bashira ijwi hejuru bati: “Yezu, Mwigisha, tugirire imbabazi+!” 14 Abakubise ijisho, ababwira ati: “Gende mwiyereke abaherezi+.” Maze bariko baragenda, barahumanuka+. 15 Umwe muri bo, abonye ko yakize, aragaruka, aza aninahaza+ Imana n’ijwi rirenga. 16 Nuko yubarara hasi imbere y’ibirenge vya Yezu+, amukengurukira; kandi uno yari Umusamariya+. 17 Yezu asubizayo ati: “Icumi si bo bahumanuwe? None abandi icenda bari hehe? 18 Nta n’umwe yabonetse yagarutse kuninahaza Imana atari uyu muntu wo mu rindi hanga?” 19 Amubwira ati: “Haguruka wigire; ukwizera kwawe kuragukijije+.”

20 Mugabo abajijwe n’Abafarizayo igihe ubwami bw’Imana bwoziye+, abishura ati: “Ubwami bw’Imana ntibuzoza bwibonekeza bimwe bitangaje, 21 eka mbere ntibazoba bavuga ngo: ‘Raba hano!’, canke, ‘Hariya+!’ Kuko ehe ubwami bw’Imana buri hagati yanyu+.”

22 Maze abwira abigishwa ati: “Imisi izoza aho muzokwipfuza kubona umwe mu misi y’Umwana w’umuntu, mugabo ntimuzowubona+. 23 Kandi bazobabwira bati: ‘Raba hariya!’, canke, ‘Hano+!’ Ntimuze mugende canke ngo mubiruke inyuma+. 24 Kuko, nk’uko nyene umuravyo+ iyo urabije ukayanganira mu gice kimwe munsi y’ijuru ugashika mu kindi gice munsi y’ijuru, ni ko n’Umwana w’umuntu+ azoba. 25 Ariko ategerezwa kubanza gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’iri yaruka+. 26 Vyongeye, nk’uko vyabaye mu misi ya Nowa+, ni ko bizoba no mu misi y’Umwana w’umuntu+: 27 bararya, baranywa, abagabo bararongora, abagore barashingirwa, gushika ku musi Nowa yinjira mu bwato, hanyuma isegenya rirashika, ribatikiza bose+. 28 Muri ubwo buryo nyene, nk’uko vyabaye mu misi ya Loti+: bararya, baranywa, baragura, baragurisha, baratera, barubaka. 29 Mugabo ku musi Loti yaviriye i Sodomu, haraguye imvura y’umuriro n’amazuku bivuye mw’ijuru, bibatikiza bose+. 30 Ni ko bizoba ku musi Umwana w’umuntu azobwirizwa guhishurwa+.

31 “Kuri uwo musi uwuzoba ari hejuru ku nzu mugabo ibintu vyiwe bikaba biri mu nzu ntaze amanuke kubitora, kandi uwuzoba ari mw’itongo na we nyene ntaze agaruke ku biri inyuma. 32 Mwibuke muka Loti+. 33 Uwo wese arondera kwizigamira ubuzima bwiwe azobubura, mugabo uwo wese abubura azobuzigama+. 34 Ndabibabwiye: Muri iryo joro abagabo babiri bazoba bari mu gitanda kimwe; umwe azojanwa, mugabo uwundi arekwe+. 35 Hazoba abagore babiri bariko barasya ku rusyo rumwe; umwe azojanwa, mugabo uwundi arekwe+.” 36* —— 37 Nuko bamwishura bati: “Hehe ga Mukama?” Ababwira ati: “Aho umuvyimba uri+ ni ho inkona zizokoranira+.”

18 Maze abandanya kubaha ikigereranyo ku vy’uko bikenewe ko bama basenga kandi ntibadebukirwe+, 2 mu kuvuga ati: “Mu gisagara kimwe hariho umucamanza umwe atatinya Imana akaba kandi atubaha umuntu. 3 Mugabo hariho umupfakazi muri ico gisagara akaba yaguma aja+ iwe, avuga ati: ‘Raba ingene notunganirizwa nkurweko uwo tuburana.’ 4 Nuko, amara igihe avyanka, mugabo mu nyuma yibwira ati: ‘Naho ntatinya Imana canke ngo nubahe umuntu, 5 uko biri kwose, kubera ko uyu mupfakazi aguma angora+, nzoraba ingene yotunganirizwa, ntagume aza ankubitagura ibipfunsi+ gushika amare.’ ” 6 Maze Umukama avuga ati: “Umve ivyo nya mucamanza yavuze, naho atari agororotse! 7 Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane+ bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro, naho yiyumanganya+ ku biberekeye? 8 Ndabibabwiye: Izotuma batunganirizwa ningoga+. Yamara none, Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwizera* kw’isi?”

9 Mugabo aha kandi iki kigereranyo bamwe, abiyizigira ubwabo ko ari abagororotsi+, bagafata abandi ko ari ubusa+, ati: 10 “Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe akaba yari Umufarizayo, uwundi umutozakori. 11 Nya Mufarizayo arahagarara+, atangura gusengera+ ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori+. 12 Ndisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga ic’icumi c’ibintu vyose ndonka+.’ 13 Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza+, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi+.’ 14 Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi+ kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru+.”

15 Buno abantu batangura kumuzanira n’inzoya zabo ngo azikoreko; mugabo abigishwa babibonye batangura kubakankamira+. 16 Ariko Yezu ahamagara za nzoya ngo zize kuri we, avuga ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe, kandi ntimugerageze kubabuza. Kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 17 Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.”

18 Hanyuma umutware umwe amubaza ikibazo ati: “Mwigisha mwiza, nkore iki ngo nze ntorane ubuzima budahera+?” 19 Yezu amubwira ati: “Unyitira iki mwiza? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana+. 20 Urazi amabwirizwa+: ‘Nturenge ibigo+, Ntiwice+, Ntiwibe+, Ntushinge intahe y’ikinyoma+, Tera iteka so na nyoko+.’ ” 21 Maze avuga ati: “Ivyo vyose narabigumije kuva mu buto bwanje+.” 22 Yezu amaze kwumva ivyo, amubwira ati: “Haracari ikintu kimwe uhajije: Gurisha ibintu vyose ufise, ugabanganirize aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru; maze uze unkurikire+.” 23 Avyumvise, agira intuntu nyinshi, kuko yari atunze cane+.

24 Yezu aramuraba, avuga ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera kwinjira mu bwami bw’Imana+! 25 Nkako, biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge rwo kubarira kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi+.” 26 Abavyumvise baca bavuga bati: “None ni nde ashobora gukizwa?” 27 Avuga ati: “Ibidashoboka ku bantu birashoboka ku Mana+.” 28 Mugabo Petero avuga ati: “Ehe twebwe twarasize ivyacu turagukurikira+.” 29 Ababwira ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nta n’umwe yasize inzu canke umugore canke bene wabo canke abavyeyi canke abana ku bw’ubwami bw’Imana+ 30 atazogira ukuntu abironka incuro nyinshi muri iki kiringo, mu gihe* kizoza na ho ubuzima budahera+.”

31 Maze yikebukanya bamwe cumi na babiri, ababwira ati: “Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi ibintu vyose vyanditswe biciye ku bahanuzi+ ku vyerekeye Umwana w’umuntu bizorangizwa+. 32 Nk’akarorero, azogaburwa mu maboko y’abanyamahanga, ashinyagurizwe+, agirirwe nabi bimwe biteye isoni+ yongere acirweko amate+; 33 hanyuma bamaze kumushishagura+ bazomwica+, mugabo ku musi ugira gatatu azozuka+.” 34 Ariko ntibategereye insobanuro y’ikintu na kimwe muri ivyo; mugabo iryo jambo bararihishwa, ntibamenya ibivuzwe+.

35 Igihe yariko aregereza i Yeriko, impumyi imwe yari yicaye iruhande y’inzira isegerereza+. 36 Kubera ko yari yumvise isinzi ririko rirarengana, itangura kubaza ivyo ari vyo. 37 Bayibwira bati: “Yezu Umunyanazareti ariko ararengana+!” 38 Ica irasemerera iti: “Yezu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+!” 39 Nuko abariko bagendera imbere batangura kuyihanikiriza ngo ihore, mugabo iguma irushirizaho gusemerera iti: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+.” 40 Maze Yezu arahagarara, ategeka ko bamuzanira nya muntu+. Amaze kwegera, Yezu amubaza ati: 41 “Ushaka ndakugirire iki+?” Na we ati: “Mukama, nimpumuke+.” 42 Nuko Yezu amubwira ati: “Humuka; ukwizera kwawe kuragukijije+.” 43 Maze ako kanya nyene arahumuka+, aca atangura kumukurikira, aninahaza Imana+. Vyongeye, abantu bose ngo babibone, bashemeza Imana.

19 Nuko yinjira i Yeriko+, akaba yariko ahaca arengana. 2 Ng’aho hari umugabo yitwa Zakayo; kandi yari umukuru w’abatozakori, akaba yari atunze. 3 Na we yariko arondera kubona+ uwo Yezu uwo ari we, mugabo ntiyabishobora kubera isinzi, kuko yari mugufi. 4 Nuko arirukanga imbere, yurira igiti c’umusukomora kugira ngo amubone, kubera ko yagira ace muri iyo nzira. 5 Yezu ageze nya hantu, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, nyarutsa wururuke, kuko uno musi ntegerezwa kurara mu nzu iwawe.” 6 Aca aranyarutsa arururuka, amwakira iwe anezerewe. 7 Mugabo babibonye, batangura kuvugira mu ntamatama bose+ bati: “Ku muntu w’umucumuzi ni ho yinjiye kurara.” 8 Mugabo Zakayo arahaguruka, abwira Umukama ati: “Ehe ica kabiri c’ivyo ntunze, Mukama, ngira ndagihe aboro, kandi ico cose nanyaze uwo ari we wese mu kumwagiriza ibinyoma+, ngira ndagisubize incuro zine+.” 9 Yezu aca amubwira ati: “Uno musi ubukiriro bwaje kuri iyi nzu, kubera ko na we nyene ari umwana wa Aburahamu+. 10 Kuko Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza icatakaye+.”

11 Bariko barumviriza ivyo bintu, yongerako ikigereranyo, kubera ko yari hafi ya Yeruzalemu, bakaba bariko biyumvira yuko ubwami bw’Imana bwagira bwibonekeze ako kanya nyene+. 12 Nuko rero avuga ati: “Umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo aja mu gihugu ca kure kwihesha ububasha bwa cami agaheza akagaruka+. 13 Ahamagara cumi mu bashumba biwe abaha imina cumi, ababwira ati: ‘Mucuruze kugeza nje+.’ 14 Mugabo abanyagihugu bagenziwe bari bamufitiye urwanko+; nuko batuma umugwi w’ababaserukira inyuma yiwe, kuvuga uti: ‘Ntidushaka ko uwo muntu atubera umwami+.’

15 “Amaherezo aho agarukiye amaze kwihesha ububasha bwa cami, ategeka ko bamuhamagarira abo bashumba yari yahaye amafeza, kugira ngo amenye ico bari bungutse mu rucuruza+. 16 Maze uwa mbere araza, avuga ati: ‘Mukama, imina yawe yungutse imina cumi+.’ 17 Nuko amubwira ati: ‘Wakoze neza, mushumba mwiza! Ko werekanye ko uri umwizigirwa mu kintu gitoyi cane, nugire ububasha ku bisagara cumi+.’ 18 Uwa kabiri araza, avuga ati: ‘Imina yawe, Mukama, yavuyemwo imina zitanu+.’ 19 Abwira n’uyo ati: ‘Na wewe nyene, nugabe ibisagara bitanu+.’ 20 Mugabo uwundi araza, avuga ati: ‘Mukama, ng’iyi imina yawe, iyo nagumije ibitswe mu mpuzu. 21 Urabona, naragutinye, kuko uri umuntu akara; utora ivyo utabikije kandi ugashwabura ivyo utabivye+.’ 22 Amubwira ati: ‘Ngucira urubanza ku bivuye mu kanwa kawe bwite+, wa mushumba mubi we! Wari uzi rero yuko ndi umuntu akara, ntora ivyo ntabikije, ngashwabura ivyo ntabivye+? 23 Kubera iki none utashize amafeza yanje muri banki? Maze nshitse nari kuyegeranya kumwe n’inyungu+.’

24 “Aca abwira abari bahagaze ng’aho ati: ‘Mwake iyo mina muyihe umwe afise imina cumi+.’ 25 Mugabo bamubwira bati: ‘Mukama, afise imina cumi!’— 26 ‘Ndabibabwiye: Uwo wese afise, azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa+. 27 Vyongeye, abo bansi banje batashatse yuko ndababera umwami nimubazane ng’aha mubicire imbere yanje+.’ ”

28 Nuko, amaze kuvuga ivyo bintu, abandanya urugendo, aduga i Yeruzalemu+. 29 Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo+, atuma babiri mu bigishwa+, 30 avuga ati: “Nimugende muri kiriya kigwati mubona, hanyuma mumaze kwinjira, murahasanga umwana w’indogobwa uziritse, ata muntu n’umwe arigera yicarako. Muwuziture, muwuzane+. 31 Mugabo nihagira uwubabaza ati: ‘Kubera iki muwuzitura?’ Muvuge muti: ‘Umukama arawukeneye+.’ ” 32 Nuko abatumwe baragenda, babisanga nk’uko yababwiye+. 33 Mugabo bariko barazitura nya mwana w’indogobwa, benewo bababwira bati: “Kubera iki muzitura uwo mwana w’indogobwa+?” 34 Bavuga bati: “Umukama arawukeneye+.” 35 Nuko bawushira Yezu, hanyuma bawutererako impuzu zabo zo hejuru maze bashira Yezu kuri wo+.

36 Uko yigira imbere+, baguma basasa mu nzira impuzu zabo zo hejuru+. 37 Agishika hafi y’inzira imanuka ivuye ku musozi w’Imyelayo, abigishwa indiri bose batangura kunezerwa no gushemeza Imana n’ijwi rirenga ku bikorwa vy’ububasha vyose bari babonye+, 38 bavuga bati: “Arahezagiwe Uwuje bwa Mwami mw’izina rya Yehova+! Amahoro mw’ijuru, n’ubuninahazwa ahantu hari hejuru ya hose+!” 39 Ariko bamwe mu Bafarizayo bari muri iryo sinzi bamubwira bati: “Mwigisha, hambarira abigishwa bawe+.” 40 Mugabo yishura ati: “Ndabibabwiye: Hamwe aba boguma bacereje, amabuye+ yosemerera.”

41 Maze yegereye Yeruzalemu, abona ico gisagara arakiririra+, 42 avuga ati: “Iyo wewe uza kumenya+ uno musi ibijanye n’amahoro—mugabo ubu bihishijwe amaso yawe+. 43 Kubera ko imisi izoza kuri wewe aho abansi bawe bazokwubaka hirya no hino yawe igihome+ c’ibisonga+, kandi bazogukikuza+ bagusugereze+ impande zose, 44 bagutsinde hasi wewe n’abana bawe bari muri wewe+, kandi ntibazosiga ibuye na rimwe rigeretse ku rindi+ muri wewe, kuko utamenye igihe c’ukugendurwa kwawe+.”

45 Hanyuma yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abariko baragurisha+, 46 ababwira ati: “Vyanditswe ngo: ‘Kandi inzu yanje izoba inzu yo gusengeramwo+,’ mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.”

47 Ikigeretseko, yarigisha ku musi ku musi mu rusengero. Mugabo abakuru b’abaherezi n’abanditsi n’abantu bakurubakuru bo muri ico gisata bariko barondera kumwica+; 48 yamara rero ntibaronka ikintu nyaco bari bukore, kuko abantu bose uko bangana baguma bamwumiyeko ngo bamwumve+.

20 Kuri umwe muri nya misi, igihe yariko arigisha abantu mu rusengero yongera amenyesha inkuru nziza, abakuru b’abaherezi n’abanditsi hamwe n’abagabo b’inararibonye baregera+, 2 bafata ijambo, bamubwira bati: “Tubwire ububasha butuma ukora ivyo bintu ubwo ari bwo, canke uwabuguhaye+.” 3 Abishura ati: “Nanje ndababaza ikibazo, namwe muheze mumbwire+: 4 Ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu+?” 5 Maze hagati yabo bagira ivyiyumviro bashitseko bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki mutamwemeye+?’ 6 Mugabo nitwavuga ngo ‘Ku bantu,’ abantu bose uko bangana baradutera amabuye+, kuko banyuzwe yuko Yohani+ yari umuhanuzi+.” 7 Nuko bishura yuko batazi isôko ryayo. 8 Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”

9 Maze atangura guha abantu iki kigereranyo: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu+, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga amarayo igihe kitari gito+. 10 Mugabo igihe kigeze atuma umushumba+ kuri nya barimyi+, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu+. Ariko nya barimyi bamurungika imbokoboko+ bamaze kumuhuragura. 11 Mugabo arongera abatumako uwundi mushumba. Uwo na we nyene baramuhuragura bongera baramutetereza, bamurungika imbokoboko+. 12 Yamara yongera kurungika uwugira gatatu+; n’uyo nyene baramukomeretsa, bamuta hanze. 13 Kuri ivyo, nyen’umurima w’imizabibu avuga ati: ‘Nkore iki? Ndarungika umwana wanje w’umukundwa+. Kumbure uyo wewe bazomwubaha.’ 14 Nya barimyi ngo bamukubite ijisho, batangura kwiyumvira hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa; ingo tumwice intoranwa ibe rwacu+.’ 15 Baca bamuterera inyuma+ ya nya murima w’imizabibu, baramwica+. None nyen’umurima azobagira ate+? 16 Azoza yice abo barimyi, nya murima na wo awuhe abandi+.”

Bavyumvise bavuga bati: “Ntibikabe!” 17 Mugabo arabitegereza, avuga ati: “None ibi bintu vyanditswe bisobanura iki, ibivuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye+, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+’? 18 Umuntu wese agwa kuri iryo buye azovunagurika+. Nayo uwo rizogwako wese+, rizomusya+.”

19 Abanditsi n’abakuru b’abaherezi baca barondera kumushorerako amaboko kuri iyo saha nyene, mugabo batinya abantu; kuko bari bumvise yuko atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira+. 20 Bamaze kumwihweza bitonze, batuma abantu bemerewe ingero mu mpisho ngo bigire abagororotsi, kugira ngo bamufatire+ mu majambo, babone kumushikiriza intwaro na buramatari*+. 21 Hanyuma bamubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi ukigisha neza be n’uko utagira nkunzi, mugabo ukigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri+: 22 Vyoba vyemewe ko turiha ikori Sezari canke ntivyemewe+?” 23 Mugabo amenya urwenge rwabo, araheza ababwira+ ati: 24 “Nyereka idenariyo. Iriko ishusho n’ivyandiko vya nde?” Bavuga bati: “Vya Sezari+.” 25 Ababwira ati: “Uko biri kwose rero, nimwishure Sezari ivya Sezari+, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana+.” 26 Erega, ntibashobora kumufatira kuri iryo jambo imbere y’abantu, ahubwo bumizwa n’inyishu yiwe, ntibavuga ikintu na kimwe+.

27 Ariko bamwe mu Basadukayo*, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, baraza+, bamubaza 28 bati: “Mwigisha, Musa+ yatwandikiye ati: ‘Mwene wabo n’umuntu niyapfa afise umugore, ariko uwo mugabo akaba yagumye ata mwana afise, mwene wabo+ aze yabire nya mugore, ahagurukirize uruvyaro mwene wabo kuri nya mugore+.’ 29 Urumva rero hari abavukana indwi; uwa mbere yabira umugore hanyuma apfa ata mwana afise+. 30 Uwa kabiri rero, 31 n’uwa gatatu baramwabira. Mbere no kuri abo indwi biba gutyo: barapfuye ata bana basize+. 32 Amaherezo, nya mugore na we arapfa+. 33 None mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo? Kuko abo uko ari indwi baramwabiriye+.”

34 Yezu ababwira ati: “Abana b’iki gihe bararongora+ kandi bagashingirwa, 35 mugabo ababonywe ko babereye+ gushika muri ca gihe kigiye kuza+ no kuzuka mu bapfuye+, ntibarongora canke ngo bashingirwe. 36 Nkako, ntibashobora no kwongera gupfa+, kuko bameze nk’abamarayika, bakaba n’abana b’Imana mu kuba abana b’izuka+. 37 Mugabo ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa+, igihe yita Yehova ‘Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.’ 38 Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo+.” 39 Bamwe mu banditsi baca bavuga bati: “Mwigisha, uvuze neza.” 40 Kuko batabaye bacubahuka kumubaza n’ikibazo kimwe rudende.

41 Na we ababwira ati: “Bishoboka bite ngo bavuge yuko Kristu ari mwene Dawidi+? 42 Kuko Dawidi ubwiwe avuga mu gitabu c’Amazaburi, ngo: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje 43 gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.” ’ 44 Dawidi rero amwita ‘Umukama’; none aba umwana wiwe gute?”

45 Maze, igihe abantu bose bariko barumviriza, abwira abigishwa+ ati: 46 “Mwiyubare abanditsi bipfuza kugendagenda bari mu makanzu, bagakunda n’indamutso mu tuguriro n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’ibibanza biboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba+, 47 bakarotsa kandi inzu z’abapfakazi+ hanyuma bagatura amasengesho maremare bwa citwazo. Abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta+.”

21 Araramuye amaso, abona abatunzi batiburira amashikanwa yabo mu dusandugu two mw’ishikaniro+. 2 Maze abona umupfakazi umwe w’umukene atiburiyeyo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane+, 3 avuga ati: “Ndababwiye ukuri: Uyu mupfakazi, naho ari umworo, yatiburiyeyo vyinshi gusumba ivyo bose batiburiyeyo+. 4 Kuko abo bose batiburiyeyo amashikanwa avuye ku musesekara wabo, mugabo uyu mugore we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo uburyo bwose afise bwo kubaho+.”

5 Mu nyuma, igihe bamwe bariko bavuga ivyerekeye urusengero, ingene rwari rusharijwe n’amabuye mezameza be n’ibintu vyeguriwe Imana+, 6 avuga ati: “Nayo ibi bintu mubona, imisi izoza aho ng’aha ata buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.” 7 Maze bamubaza bati: “Mwigisha, ivyo bizoba ryari vy’ukuri, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso igihe ivyo bintu bizoba bigira bibe+?” 8 Avuga ati: “Mwiyubare ntimuzimizwe+; kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ndi we,’ kandi ngo: ‘Igihe kiregereje+.’ Ntimuze mubakurikire. 9 Ikigeretseko, nimwumva intambara n’imivurungano, ntimuze mutekerwe n’ubwoba+. Kuko ivyo bitegerezwa kubanza kuba, mugabo iherezo ntirizoca rishika buno nyene.”

10 Maze abandanya kubabwira ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga+, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami+; 11 kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa+ biva hamwe bija ahandi; kandi hazoba ibintu biteye ubwoba habe n’ibimenyetso bikomakomeye biva mw’ijuru+.

12 “Mugabo imbere y’uko ivyo vyose biba, bazobashorerako amaboko, babahame+, babatange ku masinagogi no ku mabohero, babakwege babatwara imbere y’abami na ba buramatari ku bw’izina ryanje+. 13 Bizobaviramwo intahe+. 14 Nuko rero mwiyemeze mu mitima yanyu kutimenyereza imbere y’igihe ingene muzokwiburanira+, 15 kuko nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza+. 16 Vyongeye, muzotangwa mbere n’abavyeyi+ na bene wanyu n’incuti n’abagenzi, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe+; 17 kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. 18 Yamara nta n’agashatsi+ ko ku mitwe yanyu kazogenda kavuyeko. 19 Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubuzima bwanyu+.

20 “Ikigeretseko, nimwabona Yeruzalemu ikikujwe+ n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje+. 21 Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo+; 22 kuko iyo izoba ari imisi yo gushitsa ubutungane, kugira ngo ibintu vyose vyanditswe biranguke+. 23 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! Kuko hazoba amarushwa akomeye ku gihugu n’uburake kuri iki gisata; 24 kandi bazoririkwa n’ubugi bw’inkota bongere batwarwe ari imbohe mu mahanga yose+; kandi Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe+ vy’amahanga birangutse.

25 “Vyongeye, hazoba ibimenyetso mu zuba+ n’ukwezi n’inyenyeri, kandi kw’isi hazoba umubabaro mwinshi mu mahanga, ntamenye ingene yobikika kubera ukwasana kw’ikiyaga+ n’ugusuriranya kwaco+, 26 kandi abantu bazorabikwa n’ubwoba+ be n’ukwitega ibintu biza kw’isi+; kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 27 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aza mu gicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 28 Mugabo ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.”

29 Kuri ivyo abaha ikigereranyo ati: “Itegereze igiti c’umusukoni be n’ibindi biti vyose+: 30 Iyo bimaze kuzana iminago, muvyihweje muca mumenya ubwanyu yuko ici* riri hafi+. 31 Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi+. 32 Ni ukuri ndabibabwiye: Iri yaruka ntirizogenda rivuyeho vyose bitabaye+. 33 Ijuru n’isi bizovaho+, mugabo amajambo yanje ntazogenda avuyeho+.

34 “Mugabo mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero+ be n’amaganya+ y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene+ 35 nk’umutego+. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera+. 36 Mugume murikanuye+ rero, mutakamba igihe cose+ kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu+.”

37 Ku murango rero yarigisha mu rusengero+, mugabo mw’ijoro agasohoka akaja kurara ku musozi witwa umusozi w’Imyelayo+. 38 Kandi abantu bose+ baraza mu gatondo ka kare kuri we mu rusengero kumwumva.

22 Ico gihe umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, uwo bita Pasika+, wariko uregereza. 2 Vyongeye, abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera uburyo nyabwo bwo kumukuraho+, kuko batinya abantu+. 3 Mugabo Shetani yinjira muri Yuda, umwe yitwa Isikariyoti, uwaharurwa muri bamwe cumi na babiri+; 4 na we aragenda avugana n’abakuru b’abaherezi be n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ku vyerekeye uburyo nyabwo bwo kumugabura kuri bo+. 5 Emwe, baranezerwa, baca bemera kumuha amafeza+. 6 Nuko aremera, aca atangura kurondera akaryo keza ko kumugabura kuri bo ata sinzi riri hafi+.

7 Nuko umusi w’imikate itarimwo umwambiro urashika, uwo imbagwa ya pasika yategerezwa gutangirwako ikimazi+; 8 hanyuma atuma Petero na Yohani ati: “Gende mudutegurire pasika+ turye.” 9 Bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuyitegurira?” 10 Ababwira+ ati: “Ehe! Nimwinjira mu gisagara, murahwana n’umuntu yikoreye ikarabo ry’amazi. Mumukurikire mu nzu yinjiramwo+. 11 Muheze mubwire nyen’inzu muti: ‘Umwigisha akubwiye ati: “Icumba c’abashitsi kiri hehe, ico ndi buriremwo pasika ndi kumwe n’abigishwa banje+?” ’ 12 Uwo muntu na we araheza abereke icumba cagutse co hejuru, kirimwo ivya nkenerwa. Muhategurire pasika+.” 13 Nuko baragenda babisanga nk’uko yari yababwiye, baraheza bategura pasika+.

14 Amaherezo isaha igeze, aja ku meza, n’intumwa ziri kumwe na we+. 15 Azibwira ati: “Naripfuje cane kurya iyi pasika ndi kumwe namwe imbere y’uko mbabazwa; 16 kuko ndabibabwiye: Sinzokwongera kuyirya kugeza ivyayo birangutse mu bwami bw’Imana+.” 17 Maze yakira igikombe+ arakenguruka, avuga ati: “Akire iki mugihanahane hagati yanyu; 18 kuko ndabibabwiye: Kuva ubu sinzokwongera kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu kugeza ubwami bw’Imana bushitse+.”

19 Atora n’umukate+, arakenguruka, arawumanyura, arawubaha, avuga ati: “Iki gisobanura umubiri wanje+ ugiye gutangwa ku bwanyu+. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.” 20 N’igikombe+ nyene akigenza kuno bamaze kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, avuga ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha+ hishimikijwe amaraso yanje+, ayagiye guseswa ku bwanyu+.

21 “Mugabo, ehe ukuboko kw’uwungura+ kuri kumwe nanje ku meza+. 22 Kubera ko Umwana w’umuntu agira agende nk’uko ivyashinzwe biri+; ariko aragowe uwo muntu bicako ngo Umwana w’umuntu agurwe+!” 23 Nuko batangura kubazanya hagati yabo uwari agiye koko gukora ico kintu muri bo+.

24 Ariko havyuka kandi ibihari bikomeye hagati yabo vyo kumenya uwoba yasa na mukuru muri bo+. 25 Mugabo ababwira ati: “Abami b’amahanga barayakandamiza, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza+. 26 Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo+. Mugabo umukuru muri mwebwe nacike nk’umutoyi+, uwutegeka na we acike nk’uwukora+. 27 Kuko, uwuruta abandi ni nde, ni uwuri ku meza canke ni uwuriko arakora? Si uwuri ku meza none? Mugabo jewe ndi hagati yanyu nk’uwukora+.

28 “Ariko ni mwebwe mwumiye+ kuri jewe mu bigeragezo vyanje+; 29 nanje ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano+ nanje, ku bw’ubwami+, 30 kugira ngo murire+ kandi munywere ku meza yanje mu bwami bwanje+, mwongere mwicare ku ntebe z’ubwami+ kugira mucire imanza ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.

31 “Simoni, Simoni, ehe Shetani+ yabasavye ngo abagosore nk’ingano+. 32 Mugabo natakamvye+ ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze+ bene wanyu.” 33 Maze amubwira ati: “Mukama, nditeguye kujana nawe mw’ibohero no mu rupfu+.” 34 Mugabo avuga ati: “Ndabikubwiye, Petero: Isake ntibika uno musi utarahakana gatatu ko unzi+.”

35 Ababwira kandi ati: “Igihe nabatuma+ mutagira isaho n’umupfuko w’ibifungurwa be n’inkweto, hari ico mwakenye?” Bavuga bati: “Oya!” 36 Maze ababwira ati: “Mugabo ubu uwufise isaho nayitore, n’uwufise umupfuko w’ibifungurwa agire ukwo nyene; kandi uwudafise inkota nagurishe impuzu yiwe yo hejuru agure imwe. 37 Kuko ndababwiye yuko ibi bintu vyanditswe bitegerezwa kurangukira muri jewe, ari vyo vy’ibi: ‘Kandi yaharuranywe n’abagarariji+.’ Kuko ikinyerekeye kiriko kiraranguka+.” 38 Maze bavuga bati: “Mukama, ehe ng’izi inkota zibiri.” Ababwira ati: “Birahagije.”

39 Asohotse, aja ku musozi w’Imyelayo nk’uko yamenyereye; n’abigishwa na bo baramukurikira+. 40 Ashitse nya hantu ababwira ati: “Mubandanye gusenga, kugira ntimuje mu kigeragezo+.” 41 Na we yigira kure yabo nk’ahoterwa ibuye, hanyuma arapfukama, atangura gusenga, 42 avuga ati: “Data, nimba ubishaka, igizayo iki gikombe kimveko. Yamara rero, ntihabe ukugomba kwanje+, ahubwo habe ukugomba kwawe+.” 43 Maze umumarayika avuye mw’ijuru aramubonekera, aramukomeza+. 44 Mugabo agira agahinda kenshi, aguma arushirizaho gusengana ubwira+; icuya ciwe na co gicika nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi+. 45 Hanyuma arahaguruka amaze gusenga, aja ku bigishwa, asanga bariko barahunikira kubera intuntu+; 46 ababwira ati: “Kubera iki muriko murasinzira? Haguruke mubandanye gusenga, kugira ntimuje mu kigeragezo+.”

47 Akiriko aravuga, haza isinzi, kandi wa wundi yitwa Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, yariko agendera imbere yabo+; hanyuma yegera Yezu ngo amusome+. 48 Mugabo Yezu amubwira ati: “Yuda, mbega uragabura Umwana w’umuntu mu kumusoma+?” 49 Aho abari hafi yiwe baboneye ivyagira bibe, bavuga bati: “Mukama, dukubite n’inkota+?” 50 Umwe muri bo mbere yarakubise umushumba w’umuherezi mukuru, amukurako ugutwi kw’iburyo+. 51 Mugabo Yezu yishura ati: “Nimugeze aho.” Hanyuma akora kuri kwa gutwi, aramukiza+. 52 Maze Yezu abwira abakuru b’abaherezi n’abakuru b’abarinzi b’urusengero be n’abagabo b’inararibonye bari baje ng’aho kumufata, ati: “Mbega mwaje mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 53 Igihe nari kumwe namwe mu rusengero+ imisi yose ntimwaramvuye amaboko ngo mumfate+. Mugabo iyi ni yo saha+ yanyu, kandi ni bwo bubasha+ bw’umwiza+.”

54 Maze baramufata baramujana+, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru+; mugabo Petero yagenda arakurikira ari nka hariya+. 55 Igihe bacana umuriro hagati mu rugo hanyuma bakicara hamwe, Petero yari yicaye muri bo+. 56 Mugabo umusukukazi umwe amubona yicaye iruhande ya nya gacanwa kabengagira, aramwitegereza, avuga ati: “Uyu na we nyene yari kumwe na we+.” 57 Mugabo arabihakana+, ati: “Sindamuzi, wa mugore we+.” 58 Haciye akanya uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri uwo muri bo.” Mugabo Petero avuga ati: “Wa muntu we, sindi muri bo+.” 59 Haciye nk’isaha, uwundi muntu atangura kuvuga ashimika ati: “Ni ivy’ukuri n’uyu yari kumwe na we; kuko kanatsinda, ni Umunyagalilaya+!” 60 Mugabo Petero avuga ati: “Wa muntu we, sinzi ivyo uriko uravuga.” Ako kanya nyene, akiriko aravuga, isake irabika+. 61 Maze Umukama arahindukira, araba Petero, Petero na we aca yibuka rya jambo ry’Umukama igihe yamubwira ati: “Imbere y’uko isake ibika uno musi, uza kunyihakana gatatu+.” 62 Aca arasohoka hanze, ararira arabogoza+.

63 Buno abagabo bari bamucunze batangura kumushinyaguriza+, bamukubita+; 64 bamaze kumupfuka, baza baramubaza bati: “Pfindura. Ni nde agukubise+?” 65 Babandanya kuvuga n’ibindi bintu vyinshi vyo kumurogotako+.

66 Amaherezo hakeye, ikoraniro ry’abagabo b’inararibonye bo muri ico gisata, abakuru b’abaherezi be n’abanditsi, bakoranira hamwe+, baramukwega bamutwara mu ngoro y’Inama Nkuru* yabo, bavuga+ bati: 67 “Nimba uri Kristu+, bitubwire.” Mugabo ababwira ati: “Naho nobibabwira, ntimwogenda muvyemeye+. 68 Vyongeye, hamwe nobabaza, ntimwogenda mwishuye+. 69 Ariko kuva ubu Umwana w’umuntu+ azoba yicaye iburyo+ bw’Imana+ h’ububasha.” 70 Kuri ivyo bose bavuga bati: “Uri Umwana w’Imana rero?” Ababwira ati: “Mwebwe ubwanyu muravuze+ ko ndi we.” 71 Bavuga bati: “Turacakenerera iki iyindi ntahe+? Kuko twebwe ubwacu tuvyiyumviye mu kanwa kiwe bwite+.”

23 Nuko abo bantu indiri bava hasi bose uko bangana, bamujana kwa Pilato+. 2 Maze batangura kumwagiriza+ bati: “Uyu mugabo twamusanze ariko adurumbanya+ ihanga ryacu yongera abuza kuriha amakori+ Sezari, kandi avuga yuko we ubwiwe ari Kristu, umwami+.” 3 Pilato rero amubaza iki kibazo ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda?” Amwishura ati: “Wewe ubwawe urabivuze+.” 4 Maze Pilato abwira abakuru b’abaherezi n’amasinzi ati: “Nta caha mbona muri uyu muntu+.” 5 Mugabo barashimika bati: “Agumura abantu mu kwigisha i Yudaya hose, kuva i Galilaya gushika n’ino hose.” 6 Pilato ngo avyumve, abaza ko uwo muntu yoba ari Umunyagalilaya, 7 hanyuma amaze kumenya neza ko yava mu karere Herodi atwara+, amurungika kwa Herodi, uno na we nyene akaba yari i Yeruzalemu muri iyo misi.

8 Herodi abonye Yezu aranezerwa rwose, kuko yari amaze igihe kitari gito ashaka kumubona+ kubera ko yari yarumvise+ ivyiwe, akaba yari yizigiye kubona ikimenyetso akoze. 9 Atangura rero kumubaza amajambo menshimenshi; mugabo nta nyishu yamuhaye+. 10 Ariko abakuru b’abaherezi n’abanditsi baguma bahagaze, bamwagiriza babambawe+. 11 Maze Herodi ari kumwe n’abasoda bamucungira ubuzima aramukengera+, aramushinyaguriza+ mu kumwambika impuzu yakaka, aca amusubiza kwa Pilato. 12 Herodi na Pilato+ baca bacika abagenzi kuri uwo musi nyene; kuko imbere y’aho bahora bankana.

13 Maze Pilato akoranya abakuru b’abaherezi n’abatware be n’abantu, 14 ababwira ati: “Mwanzaniye uyu muntu ngo atera abantu umugararizo, nanje ehe namusambishirije imbere yanyu mugabo nta shingiro+ na rimwe nabonye muri we ry’ibirego mumurega. 15 Nkako, na Herodi ni ukwo, kuko yamudusubije; kandi ehe nta kintu na kimwe gikwiriye kumwicisha+ yakoze. 16 Ndamuhana+ rero hanyuma ndamurekure.” 17* —— 18 Mugabo bari kumwe na ba bantu indiri babo bose barasemerera bati: “Kuraho uyo+, ariko uturekurire Baraba+!” 19 (Uyo ni uwari yatawe mw’ibohero kubera ubugumutsi kanaka bwari bwabaye mu gisagara be no kubera ubwicanyi.) 20 Pilato yongera kubatera akamo, kubera ko yashaka kurekura Yezu+. 21 Maze batangura kuvuza induru bati: “Manika! Mumanike+!” 22 Ubugira gatatu ababwira ati: “Mbega yemwe, none ikibi uyu yakoze ni igiki? Nta kintu na kimwe namubonyemwo gikwiriye kumwicisha; ndamuhana rero hanyuma ndamurekure+.” 23 Kuri ivyo batangura guhutagiza, n’amajwi arenga, basaba ko amanikwa; hanyuma amajwi yabo atangura gutsinda+. 24 Nuko Pilato ashinga yuko ivyo basavye bishitswa+: 25 arekura+ wa muntu yari yatawe mw’ibohero kubera ubugumutsi n’ubwicanyi, ari na we bariko barasaba, mugabo atanga Yezu ngo bamugire uko bagomba+.

26 Bamujanye, bafata Simoni imvukira y’i Sireni yari aje ava mu gihugu hagati, hanyuma bamuremeka ca giti co kubabarizwako ngo agende acikoreye inyuma ya Yezu+. 27 Mugabo yari akurikiwe n’abantu indiri n’indiri bo muri ico gisata n’abagore indiri n’indiri baguma bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu bongera bamuborogera. 28 Yezu arahindukira araba ba bagore, avuga ati: “Bakobwa ba Yeruzalemu, nimureke kundirira. Ahubwo nimwiririre muririre n’abana banyu+; 29 kuko ehe imisi iriko iraza aho bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore b’ingumba, n’inda zitavyaye be n’amabere atonkeje+!’ 30 Ni ho bazotangura kubwira imisozi bati: ‘Nimutugweko!’, n’imirambi bati: ‘Nimudupfuke+!’ 31 Kuko nimba bakora ivyo igiti ari kibisi, bizogenda gute nicuma+?”

32 Mugabo abandi bantu babiri b’inkozi z’ikibi, na bo nyene bari bajanywe kwicanwa na we+. 33 Bageze ahantu hitwa Gahanga+, bamumanikaho na za nkozi z’ikibi, imwe iburyo bwiwe, iyindi ibubamfu bwiwe+. 34 [[Mugabo Yezu yariko avuga ati: “Data, bababarire+, kuko batazi ico bariko barakora.”]] Vyongeye, mu kugabura ivyambarwa vyiwe, bagira ubupfindo+. 35 Abantu na bo bari bahagaze bitegereza+. Mugabo abatware baguma bishinyira, bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; niyikize+, nimba uyo ari we Kristu w’Imana, Uwatowe+.” 36 Mbere n’abasoda baramushinyaguriza+, bakegera bamuha umuvinyu ukarishe+ 37 bongera bavuga ngo: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize.” 38 Hariho kandi icandiko hejuru yiwe kivuga ngo: “Uyu ni umwami w’Abayuda+.”

39 Mugabo umwe muri za nkozi z’ikibi zimanitswe atangura kumubwira amutuka+ ngo: “None nturi Kristu? Ikize udukize natwe.” 40 Uwundi amwishura amuhambarira ati: “Mbega wewe ntutinya Imana na gatoyi, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe+? 41 Tweho koko ntiturenganijwe, kuko turiko turonka ivyo dukwiriye vyose ku bw’ivyo twakoze; mugabo uyu we nta kintu na kimwe kitabereye yakoze+.” 42 Abandanya kuvuga ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe+.” 43 Na we amubwira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje+ muri Paradizo+.”

44 Ico gihe rero hari nko kw’isaha ya gatandatu, yamara rero umwiza utwikira isi yose gushika kw’isaha y’icenda+, 45 kubera ko umuco w’izuba wazimanganye; maze irido+ ry’aheranda ritantamukira hagati na hagati+. 46 Hanyuma Yezu arahamagara n’ijwi rirenga, ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje+.” Amaze kuvuga ivyo, aracikana+. 47 Intwazangabo ngo ibone ibibaye, itangura kuninahaza Imana, ivuga iti: “Vy’ukuri uyu muntu yari umugororotsi+.” 48 Maze amasinzi yose yari akoraniye ng’aho ku bw’ico kintu ngo abone ibibaye, atangura guhindukira, yikubitagura ku gikiriza. 49 Vyongeye, abari bazinanyi na we bose bari bahagaze nka hariya+. N’abagore bari bamukurikiye bari kumwe kuva i Galilaya, bari bahagaze bitegereza ivyo bintu+.

50 Maze hari umugabo yitwa Yozefu, akaba yari uwo mu Nama Nkuru, umuntu mwiza kandi w’umugororotsi+— 51 uyo mugabo ntiyari yatoye ashigikira umugambi wabo n’igikorwa cabo+—yari uw’i Arimateya, igisagara c’Abanyayudaya, akaba yari arindiriye ubwami bw’Imana+; 52 uyo mugabo aja kwa Pilato, asaba ikiziga ca Yezu+. 53 Nuko arakimanura+ akizingira mu mpuzu y’ilino nziza, araheza amushira mu mva+ ikorogoshowe mu gitandara, iyo ata muntu n’umwe yari bwashirwemwo+. 54 Ico gihe wari umusi w’Umwiteguro+, umuco w’akagoroba wo kw’isabato+ ukaba wariko uregereza. 55 Mugabo ba bagore bari bavanye na we i Galilaya barakurikira, bitegereza nya mva+ n’ingene ikiziga ciwe caryamitswe+; 56 hanyuma basubira inyuma gutegura ibimota be n’amavuta amota neza+. Mugabo birumvikana ko baruhutse kw’isabato+ nk’uko ibwirizwa ryari.

24 Ariko ku musi wa mbere w’iyinga, bazindukira ku mva hakiri kare cane, batwaye nya bimota bari bateguye+. 2 Mugabo basanga rya buye ryatembagajwe rikurwa ku mva+, 3 hanyuma binjiye ntibabona ikiziga c’Umukama Yezu+. 4 Igihe bari bazazaniwe n’ivyo, abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi bahagarara iruhande yabo+. 5 Kubera ko nya bagore bari bagize ubwoba kandi bakaguma bunamye baraba hasi, ba bagabo bababwira bati: “Kubera iki murondera Umuzima mu bapfuye? 6 [[Nta wuri ng’aha, ahubwo yazuwe+.]] Nimwibuke ingene yababwiye akiri i Galilaya+, 7 yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gutangwa mu maboko y’abanyabicumuro hanyuma akamanikwa, yamara rero ku musi ugira gatatu akazuka+.” 8 Nuko baca bibuka amajambo yiwe+, 9 hanyuma barahindukira bava ku mva, biganira ivyo bintu vyose bamwe cumi n’umwe n’abandi bose+. 10 Yari Mariya umwe Magadalena, na Yohana+, na Mariya nyina wa Yakobo. N’abandi bagore+ bari kumwe na bo bariko babwira intumwa ivyo bintu. 11 Ariko ayo majambo aboneka nk’ayatagira mvura kuri bo, ntibemera+ ibivuzwe na nya bagore.

12 [[Mugabo Petero ava hasi arirukanga aja ku mva, hanyuma yunamye, abona ibitambara vyonyene. Aca aragenda, aguma yibaza muri we ivyari vyabaye.]]

13 Mugabo, kuri uwo musi nyene babiri muri bo bari ku rugendo baja mu kigwati kiri ku bilometero nka cumi na kimwe uvuye i Yeruzalemu, citwa Emawusi, 14 bakaba bariko barayaga kuri ivyo bintu vyose+ vyari vyabaye.

15 Igihe bariko barayaga bongera babazanya, Yezu ubwiwe aregera+, atangura kujana na bo; 16 mugabo amaso yabo abuzwa kumumenya+. 17 Ababwira ati: “Ivyo bintu mugenda muraharirako hagati yanyu ni ibiki?” Baca barahagarara bijiriwe mu maso. 18 Uwitwa Kileyopa amwishura ati: “Woba wibana i Yeruzalemu uri kavamahanga ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi?” 19 Na we ababwira ati: “Ibiki?” Bamubwira bati: “Ivyerekeye Yezu Umunyanazareti+, uwabaye umuhanuzi+ w’ububasha mu bikorwa no mu majambo imbere y’Imana n’abantu bose; 20 ingene abakuru b’abaherezi n’abatware bacu bamutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, hanyuma bakamumanika+. 21 Mugabo twari twizigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli+; emwe, kandi uretse n’ivyo vyose, uyu ubaye umusi ugira gatatu kuva ivyo bintu bibaye. 22 Vyongeye, hari n’abagore+ bo muri twebwe batujongoroye, kuko bari bazindukiye ku mva hakiri kare 23 mugabo ntibabona ikiziga ciwe, hanyuma baza bavuga yuko mbere bari babonekewe n’abamarayika, abavuze yuko ari muzima. 24 Vyongeye, bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva+; kandi ni ko babisanze, nk’uko nya bagore bari babivuze, mugabo ntibamubonye.”

25 Ababwira ati: “Emwe mwa bantu b’imburabwenge kandi b’umutima uteba kwemera ibintu vyose abahanuzi bavuze+! 26 Mbega ntivyari bikenewe ko Kristu ashikirwa+ n’ivyo bintu hanyuma akinjira mu buninahazwa bwiwe+?” 27 Maze ahera kuri Musa+ no ku Bahanuzi+ bose, abasobanurira ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose.

28 Amaherezo, bashika hafi y’ikigwati bari bagiyemwo, hanyuma amera nk’uwubandanya. 29 Mugabo baramuremera bati: “Gumana natwe, kubera ko buriko buragoroba kandi umusi ukaba umaze kwiterera.” Kuri ivyo arinjira kugira ngo agumane na bo. 30 Hanyuma igihe yari kumwe na bo ku meza, atora umukate, arawuhezagira, arawumanyura, atangura kuwubahereza+. 31 Amaso yabo aca arugururwa rwose, maze baramumenya; na we aca arakamangana, ntibaba bakimubona+. 32 Maze babwirana bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko avugana natwe ku nzira, igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?” 33 Nuko kuri iyo saha nyene bava hasi basubira i Yeruzalemu, basanga bamwe cumi n’umwe n’abari kumwe na bo bakoraniye hamwe, 34 bariko bavuga bati: “Mu vy’ukuri Umukama yazuwe kandi yiyeretse Simoni+!” 35 Maze ubwabo bigana ivyabaye ku nzira n’ingene bahavuye bakamumenyera ku kuntu amanyura umukate+.

36 Bariko baravuga ivy’ivyo bintu, we ubwiwe ahagarara hagati yabo [[ababwira ati: “Mugire amahoro.”]] 37 Mugabo kubera ko bari bacitse ivutu, kandi bakaba bari bagize ubwoba+, bariko biyumvira ko babonye impwemu. 38 Nuko ababwira ati: “Kubera iki muhagaritse umutima, kandi kubera iki inkeka ziza mu mitima yanyu? 39 Raba ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mubone yuko ari jewe ubwanje; nimunkorakore+ murabe, kubera ko impwemu itagira inyama n’amagufa+ nk’uku mubona ndabifise.” 40 [[Kandi igihe yariko avuga ivyo, yaraberetse ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe.]] 41 Mugabo bakibandanya kutavyemera+ kubera akanyamuneza gusa bakaba kandi bari batangaye, ababwira ati: “Hari ikintu mufise ng’aho co kurya+?” 42 Bamuhereza igipande c’ifi yokeje+; 43 na we aracakira akirira+ mu maso yabo.

44 Buno ababwira ati: “Aya ni ya majambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe+, yuko ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi+ no mu Mazaburi+ ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka.” 45 Maze yugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe+, 46 ababwira ati: “Uku ni ko vyanditswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu+, 47 be n’uko mw’izina ryiwe ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro+ kwokwamamajwe mu mahanga yose+—guhera i Yeruzalemu+, 48 mubwirizwa kuba ivyabona+ vy’ivyo bintu. 49 Kandi, ehe ngira ndungike kuri mwebwe icasezeranywe na Dawe. Mugabo mwebwe, mugume mu gisagara gushika mwambitswe ububasha buvuye iyo hejuru+.”

50 Mugabo arabarongōra abasohokanye, gushika i Betaniya, hanyuma atarika amaboko arabahezagira+. 51 Igihe ariko arabahezagira, atandukanywa na bo, hanyuma atangura kuduzwa mw’ijuru+. 52 Maze bikubita imbere yiwe, baraheza basubira i Yeruzalemu n’akanyamuneza kenshi+. 53 Kandi baguma mu rusengero ubudahengeshanya bahezagira Imana+.

Canke, “ububani.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “amasandali.”

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.

Canke, “amasandali.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “umukate.”

Ijambo ku rindi ni “bwa ngabirano z’imbabazi.”

Ikibanza caturirirwamwo umwavu inyuma ya Yeruzalemu.

Ni itambwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Kuva nk’isaha zitatu z’ijoro gushika mu gicugu.

Kuva mu gicugu gushika nk’isaha icenda z’ijoro.

Ijambo ku rindi ni “azomucamwo kubiri.”

Ingero imwe yangana n’amalitiro 7,33.

Ijambo ku rindi ni “ingǒgo zitanu z’inka.”

Idarakima cari igiceri c’ifeza c’Abagiriki capima amagarama 3,4.

Ijambo ku rindi ni “ijuru.”

Ingero imwe ya bati yangana n’amalitiro 22.

Ingero imwe ya koro yangana n’amalitiro 220.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.

Canke, “ukwo kwizera.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “ubukuru bwa buramatari.”

Raba Inyongera ya 21.

Muri Palestina, mu ci ni co gihe ibiterwa bitotahara.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika